[{"id":1,"verses":[{"id":1,"translation":"Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":2,"translation":"Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":3,"translation":"Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":4,"translation":"Umwami Aganza umusi w’impera;"},{"id":5,"translation":"Ni Wewe gusa twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanagusenga, kandi ni Wewe gusa dutakambira mu gusaba imfashanyo."},{"id":6,"translation":"Turongore mu nzira igororotse;"},{"id":7,"translation":"Inzira y’abo Wahezagiye Ukabaha inema, itari iy’abo Washavuriye (abayahudi) canke iy’abahuvye (abanaswara)."}]},{"id":2,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim.[1]","footnotes":"[1] Ni zimwe mu ndome z’ururimi rw’icarabu, Imana Allah Yatanguje bimwe mu bisomwa vya Qor’ani, kugira Ihige n’Abarabu basanzwe bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana Aayah n’imwe isa mu mvugo na Qor’ani, birabananira. Ico gica kiba igitangaro cemeza ko Qor’ani ari Igitabu c’Imana Allah."},{"id":2,"translation":"Ico Gitabu ca Qor’ani nta makenga kirimwo kuko camanuwe n’Imana Allah. Ni uburongozi ku bagamburukiramana."},{"id":3,"translation":"Abemera[2] ibinyegejwe ibiremwa[3], bagatsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe, bagatanga ishikanwa-bwirizwa (Zakat) n’izindi mperezwa (Sadaka) mu vyo Imana Allah Yabahaye.","footnotes":"[2] Ukwemera, ni ijambo ryo kwemanga wemera ata makenga ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w’imperuka, ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ry'avyo: ineza n’inabi. Ukwemera rero, gutegerezwa gushimangirwa mu mvugo n’ingiro, maze umutima ukemanga, ururimi rukavyatura, ibihimba na vyo bigashira mu ngiro ivyo umutima wemanze.\n[3] Ibinyegejwe ibiremwa, ni birya vyose umuntu asabwa kwemera kandi adashoboye kubimenya kiretse mu gihe bihishuwe n’Imana Allah, biciye ku Ntumwa zayo; nko kwemera abamalayika, Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, n’ibindi."},{"id":4,"translation":"N’abemera ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ewe Ntumwa y’Imana, bakanemera n’ivyahishuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, bakemera ata gukekeranya ibizoba mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":5,"translation":"Abo barangwa n’ivyo, ni bo bari mu nzira y’uburongozi bw’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ivyo wahishuriwe, kubaburira no kutababurira vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera."},{"id":7,"translation":"Ku kubera ubugarariji bwabo, Imana Allah Yarateye ikimangu mu mitima yabo no mu matwi yabo. Ku maso yabo na ho hari ipaziya ntibabona ukuri. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye."},{"id":8,"translation":"Burya mu bantu, harimwo abajuragirika mu kwemera bakavuga bati: “Twaremeye Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Ivyo bakabivuga mu majambo gusa, kandi batemera mu mitima yabo."},{"id":9,"translation":"Bibwira ko bahenda Imana Allah n’abemeramana mu kwiyorobeka kwabo. Burya nta we bahenda kiretse ko ari bo nyene bihenda, ariko ntibavyumva."},{"id":10,"translation":"Mu mitima yabo harimwo indwara y’uburyarya n’ubuhakanyi, gutyo Imana Allah na Yo Ibongerereza iyindi ndwara y’ishari n’inzigo bafitiye abemeramana. Barategekanirijwe ibihano bibabaza, kubera ivyo bahora babesha."},{"id":11,"translation":"Iyo babwiwe bati: “Ntimukwiragize ubwononyi kw’isi”. Bishura bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi intungane turabogora”."},{"id":12,"translation":"Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bononyi vy’ukuri, mugabo nta vyo bumva."},{"id":13,"translation":"Iyo naho babwiwe bati: “Nimwemere nk’uko abandi bantu bemeye”. Bishura bati: “Twebwe twokwemera nk’uko abakehabwenge bemeye!” Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bakehabwenge, ariko nta vyo bazi."},{"id":14,"translation":"Iyo bahuye n’abemeramana bavuga bati: “Twebwe twaremeye nkamwe”. Mugabo iyo bihereranye amashetani yabo (mu bahakanyi ruhebwa), bavuga bati: “Twebwe turatsimbataye mu buhakanyi hamwe na mwe. Mu vy’ukuri, twebwe turatebura gusa mu kubereka ko twemera”."},{"id":15,"translation":"Imana Allah Izobahembera ugutebura kwabo, Yongere Ibongerereze ubuhuvyi ku buhuvyi bwabo basanganwe, bajuragirike mu kubura ico bafata nico bareka hagati yo kwemera no guhakana."},{"id":16,"translation":"Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, maze birengagiza kwemera. Nta co bungutse mu rudandazwa rwabo rwo guhurumbira ivy’isi, ntibari no kuba abagororotsi namba muri ubwo buryo."},{"id":17,"translation":"Akarorero k’abo bantu b’indyarya, ni nk’umuntu yacanye umuriro ngo umumurikire we n’abagenzi bari kumwe, mu gihe umaze kumuboneshereza ibimukikije, Imana Allah Ica Irawuzimya, Ibasiga mu muzimagiza w’amakenga n’uburyarya batabona inzira y’ukuri."},{"id":18,"translation":"Ni ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ba nyamuragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibokwigarura ngo bave mu muzimagiza barimwo."},{"id":19,"translation":"Canke akarorero kabo, ni nk’ak’abantu bari mu mwijima mu mvura nyinshi irimwo imituragaro n’imiravyo, maze bakazibira amatwi yabo n’intoke zabo kugira ngo bikingire inkuba batinya gupfa. Imana Allah na Yo Ikikuje abahakanyi ku buryo ata saganirizo n’ubuhungiro bagira."},{"id":20,"translation":"Imiravyo ihakwa kubamena amaso. Mu gihe cose nya miravyo ibamurikiye bayigendamwo, iyo naho itabamurikiye ngo babone, baca bahagarara. Iyo Imana Allah Ishaka Yari kubamena amatwi n’amaso. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":21,"translation":"Emwe Bantu! Nimwiyegereze Imana yanyu Rurema Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, Yo Yabaremye Irema n’abo hambere yanyu kugira ngo muyigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":22,"translation":"Ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso kugira ngo mushobore kuyibako; Ibubakira n’ijuru nk’igisenge, Imanura n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, Iraheza Imeza hakoreshejwe nya mazi ivyamwa bitandukanye kugira ngo bibe imfungurwa zanyu. Kubera ivyo rero, ntimukabangikanye Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, kandi na mwe nyene muzi neza ko ari Yo Rurema, Rutunga."},{"id":23,"translation":"Nimwaba mufise amakenga yuko Twamanuriye Qor’ani Intumwa yacu (Muhamadi nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), murazana rero igisomwa kimwe gusa gisa canke gisusa na Qor’ani, kandi murarike n’abantu bababere ivyabona hatarimwo Imana Allah, nimwaba muri imvugakuri mw’ihakana ryanyu rya Qor’ani."},{"id":24,"translation":"Nimutabigira, kandi nta n’ivyo muzoshobora, muraheza rero mwiyubare ibihano vy’umuriro udahera wa Jahannamu, muheze mwemere Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) maze mugamburukire Imana Allah. Ivyegenyezo vya nya muriro ni abantu n’amabuye. Wateguriwe abagarariji."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Shikiriza abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, inkuru ihumuriza ko bazohabwa imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Igihe cose bafunguriwe mu vyamwa vyayo bavuga bati: “Izi mfungurwa ni nk’izo twafungurirwa hambere kw’isi!”. Bazihawe zisa n’izo kw’isi ariko zidasusa. Bamaze kuzifungura, bazosanga zisangije akanovera. Bazoba rero bahafise n’abakenyezi basukuye batagira akanenge. Bazobamwo ibihe bidahera."},{"id":26,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ntiterwa n’isoni mu gushikiriza ukuri, mu gutanga akarorero k’akantu kanzunya cane kurusha umubu canke kawusumba, mu kwerekana ko ibigirwamana ata co bishoboye. Abemeramana bo baramenya ko ari akarorero k’ukuri kavuye ku Mana yabo Rurema Allah, nayo abagarariji bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “None Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’udukoko tugayitse!”. Burya Imana Allah, mu gutanga ako karorero, Ihubisha benshi kw’itebura ryabo, Ikarongora benshi ku gutahura kwabo intumbero yayo. Burya rero Imana Allah ntihubisha kiretse ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo;"},{"id":27,"translation":"Abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyigamburukira no kuyisenga ari Imwe Rudende, inyuma y’aho Irishimangiye cane mu kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) no mu kumanura Ibitabu, bagaca ubucuti n’ubuvandimwe Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakanakwiragiza ubwononyi kw’isi. Abo rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa."},{"id":28,"translation":"Babangikanyamana! Ni gute mugarariza mugahakana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah! Mu gihe mwari nk’abapfu mutararemwa, maze Imana Allah Irabarema, Ibaha ubuzima, inyuma y’aho Ibaka nya buzima urwanyu rugeze, murapfa. Hanyuma rero Ikazobasubiza kandi ubuzima mukazuka. Hanyuma ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":29,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabaremeye ibiri mw’isi vyose ku neza yanyu. Hanyuma Irengera ku majuru Iraheza Irayarema ari indwi ata n’akanenge wobona mw’iremwa ryayo. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Allah Ngira Nshire kw’isi ikiremwa kizokurakuranwa mu kuyibungabunga”. Na bo n’impungenge nyinshi bati: “Ugira Ushire kw’isi uwuzoyikorerako ubwononyi, akanasesa amaraso, mu gihe twebwe tukuninahaza mu kugushimagiza, tukagutagatifuza mu cubahiro cawe!”. Imana Allah Ibishura Iti: “Ni ukuri, Ndazi ivyo mutazi”."},{"id":31,"translation":"Imana Allah Imaze kurema Adamu, Ikamwigisha amazina y’ibiremwa vyose, Yaciye Ivyereka abamalayika, Ica Ibabwira Iti: “Enda nyabuna nimumbwire amazina y’ibi biremwa nimwaba muri imvugakuri ko Adamu ata co azomarira isi!”."},{"id":32,"translation":"Abamalayika barishura bati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Nta bumenyi dufise burenze ubwo Waduhaye. Mu vy’ukuri, Wewe ni We Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ukora”."},{"id":33,"translation":"Imana Allah Iraheza Ibwira Adamu Iti: “Babwire amazina y’ivyo biremwa batashoboye kumenya amazina yavyo”. Adamu amaze kubabwira amazina yavyo, Imana Allah Yaciye Ivuga Iti: “Sinababwiye ko Jewe Nzi neza ivyo mutazi binyegejwe mu majuru no mw’isi, Nkaba Nzi kandi neza n’ivyo muserura n’ivyo mwama muhisha!”."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka maze wiganire abantu igihe Twebwe Allah Twatera iteka Adamu maze Tukabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[4]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza bagamburukira rimwe barubama bose kiretse Ibilisi yanse kumwubamira, bitewe n’amanyama n’ishari n’akantu, gutyo aca acika umugarariji mu bandi.","footnotes":"[4] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani)."},{"id":35,"translation":"Turaheza Tubwira Adamu Duti: “Ewe Adamu! Cumbika mu Bwami bw’ijuru, wewe hamwe n’umutambukanyi wawe “Hawa”, nimufungure rero n’akayabagu kenshi ivyo mushaka, mworohewe aho ari ho hose muri ubu Bwami. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu birenganije ku kurenga ku mabwirizwa yanje”."},{"id":36,"translation":"Ni ho rero shetani yabata mu caha, bafungura kuri ca giti, gutyo iba imvo n’imvano yo kuva mu Bwami bw’ijuru no mu ngabirano barimwo. Duca Dutegeka Adamu n’umukenyezi wiwe hamwe na Ibilisi Duti: “Nimumanuke kw’isi, aho muzoba abansi hagati yanyu (mu ruvyaro rwa Adamu na Ibilisi). Kw’isi rero, ni ho mufise uburaro n’uburamuko no kuryoherwa gato kugeza ku musi wa rwo”."},{"id":37,"translation":"Aho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya[5], maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[5] Ayo majambo ari mu Aayah ya 23, mu gisomwa Al-A’raaf, aho Adamu na Hawa batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti. Nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, nta nkeka ko tuzoba mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”."},{"id":38,"translation":"Twabategetse Duti: “Nimumanuke mwese muve mu Bwami bw’ijuru. Nimwashikirwa n’uburongozi bwanje, abazokwemera bagakurikiza uburongozi bwanje, abo nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi”."},{"id":39,"translation":"Nayo abazogarariza Imana Allah bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, abo ni bo bantu bo mu muriro. Bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":40,"translation":"Emwe Bene Israyeli[6]! Enda nimwibuke inema zanje Nabahaye, mwongere mwubahirize isezerano ryanje ryo kwemera Ibitabu n’Intumwa zanje ata kuvangura, maze mwubahirize amabwirizwa yanje, nanje Nzoheza Nubahirize isezerano ryanyu ryo kubagirira impuhwe kw’isi no kubaha impera y’ivyo mwakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa gutinya mu kwiyubara ko mwohabwa ibihano vyanje hamwe mwongarariza,","footnotes":"[6] Biswe Bene Israyeli kuko bamuka kuri Yakobo mwene Ibrahimu, akaba ari we atazirwa Israyeli."},{"id":41,"translation":"Maze mwemere n’iyi Qor’ani Namanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ishimangira ukuri mu vyo mwahawe muri Tawurati. Ntimukabe rero aba mbere bayihakana, kandi ntimukagurishe Aayah zanje ku giciro gito cane mu kuyirengagiza canke ngo muzihindure. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje;"},{"id":42,"translation":"Kandi ntimukavange ukuri n’ikinyoma murementanya, ntimukanyegeze ukuri muzi mu biranga Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi muzi neza ko ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu musoma."},{"id":43,"translation":"Nimube rero abislamu, maze mutsimbataze amasengesho-bwirizwa, mwongere mutange n’ishikanwa-bwirizwa, hanyuma mugamburukire Imana Allah, muyunamire hamwe n’abunama."},{"id":44,"translation":"Mbega mutegeka abantu gukora ivyiza mukiyibagira kwibwiriza ngo mube abislamu, mu gihe mwebwe nyene musoma Igitabu ca Tawurati canditswemwo ibiranga Intumwa Muhamadi n’uko mutegerezwa kuyemera! Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure ko muca kubiri n’ivyo muvuga!"},{"id":45,"translation":"Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihangana mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwongere mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo n’aho bigoye cane kiretse ku bantu bitonesha bakicisha bugufi ku Mana Allah;"},{"id":46,"translation":"Abizeye ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah igihe bazutse, bakizera mu vy’ukuri ko bazosubira kuri Yo kugira baharurirwe baheze bahemberwe ivyo bakoze."},{"id":47,"translation":"Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;"},{"id":48,"translation":"Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, ntazokwemererwa no kugira uwo avugira, eka mbere nta n’ico kwigomboza mu bihano azotanga ngo cemerwe, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano."},{"id":49,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Tubakuyeko amagorwa y’abantu ba Firawuni yo gucurwa bufuni na buhoro, babaha ibihano bikomeye, bagakereragura abana banyu b’abahungu, bagasigaza abakobwa banyu ku gutinya ko mu bahungu hovamwo uwuzoza gukura ubutegetsi bwiwe. Muri ivyo vyose vyabashikiye rero, harimwo igeragezwa rikomeye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah."},{"id":50,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke kandi igihe Twabaciramwo kubiri ibahari ritukura hakaboneka inzira ihita, gutyo Tubakura mu bihano mwarimwo, Tunasomesha nturi Firawuni n’abantu biwe na mwe mwirabira n’amaso yanyu ukuntu basoma nturi."},{"id":51,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) isezerano ryo kuvugana nanje ukuri kwamye no kumanurirwa Tawurati, inyuma y’amajoro mirongo ine, muca mufata igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga igihe Intumwa y’Imana Musa yari kwakira ubutumwa bwa Tawurati ku musozi Sinayi. Mwari mwirenganije pe!"},{"id":52,"translation":"Mu nyuma yo gusenga nya gishusho c’inyana, Twarabababariye ivyaha vyanyu kugira ngo mushime ubutore n’ingabirano z’Imana Allah."},{"id":53,"translation":"Nimwibuke igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati gitandukanya ukuri n’ikinyoma, ibirekuwe n’ibibujijwe, kugira ngo mube abagororotsi."},{"id":54,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibwira abantu bayo iti: “Bantu banje! Mu vy’ukuri, mwarirenganije mu gusenga igishusho c’inyana y’inka. Kubera ivyo rero, nimugaruke ku Mana Allah Umuremyi wanyu, maze mwigaye ibicumuro vyanyu mu kwicana hagati yanyu. Ivyo rero mu gihe mwobigira, ni ku neza yanyu imbere y’Imana Allah Umuremyi wanyu. Ico gihe mwaricanye hapfa ibihumbi mirongo indwi, gutyo Iyabaremye Irabababarira”. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":55,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke igihe (abantu mirongo indwi muri mwebwe) mwabwira Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) muti: “Ntiturota twemera ko wewe uvugana n’Imana Allah tutabanje kwibonera nya Mana Allah utubwira amaso mu yandi”, haca hamanuka umuriro uvuye hejuru mwiboneye n’amaso yanyu, urabahonya;"},{"id":56,"translation":"Hanyuma Tubasubiza ubuzima inyuma y’iryo honywa kugira ngo mushimire Iyabaremye ku nema Yabahaye."},{"id":57,"translation":"Nimwibuke n’igihe Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira ngo kibakingire izuba ryo mu bugaragwa igihe mwari mu gihano co kuzembagirika, Tubamanurira na “Manna[7]” na “Salwa[8]”. Turaheza Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye maze mwubahirize idini ryanyuˮ, ariko rero nta ryo bubahirije. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo, mugabo ni bo nyene birenganije.","footnotes":"[7] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.\n[8] Inyama z’ubwoko bw’inyoni."},{"id":58,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Tubabwira Duti: “Nimwinjire mu gisagara ceranda “Bayti-l Maqdis”, muheze mufungure n’akayabagu mwisanzuye aho mushatse hose, maze mwinjire mu muryango mwunamiye Imana Allah, mwicishe bugufi, mugaca muvuga muti: “Dusavye ikigongwe cawe Mana!”, Turaheza Tubagirira ikigongwe ku vyaha vyanyu. Tuzokwongerereza indishi rero abagwaneza muri mwebwe."},{"id":59,"translation":"Ni ho rero abirenganije muri Bene Israyeli baca bahindura ijambo basabwe kuvuga “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “Urutete mu mushatsi Mana!”. Duca Tumanurira abirenganije igihano kivuye hejuru, bitewe n’ubugaba bahora bagira bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":60,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwanyoterwa, Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ikabasabira ko mwohemburwa, Duca Tuyibwira Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho. Gutyo umuryango wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimufungure “Manna” na “Salwa” mwongere munywe kw’iriba. Izo ni inema z’Imana Allah kuri mwebwe, kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi”."},{"id":61,"translation":"Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwavuga muti: “Ewe Musa! Ntidushobora kwama dufungura indya z’ubwoko bumwe! Dusabire Imana yawe Rurema Allah Iduhe mu vyimburwa vy’isi; nk’imboga, ibitunguru-sumu, intete nka “adasi” hamwe rero n’ibitunguru”. Intumwa Musa na yo ibishura iti: “Musaba guhindurirwa imfugurwa nziza cane ngo muronswe iziciriritse! Nimumanuke rero kw’isi ndimwa, muheze muronke ivyo musaba”. Bamaze kumanuka kw’isi ndimwa, baciye bugarizwa n’agasuzuguro hamwe n’ubukene bw’akataraboneka. Kubera ivyo rero, basubiye inyuma bakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Ivyo vyatewe n’uko bama bagararije Aayah z’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku kadenderezo ata kuri kwisunzwe. Ico gihano rero bagihawe kuko bagabitaniye Imana Allah, bagahohotera n’Intumwa zayo."},{"id":62,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[9], abanaswara[10] hamwe rero n’abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[11].","footnotes":"[9] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi”, risigura abigaye ku Mana Allah.\n[10] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risugura abatabazi.\n[11] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":63,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko mwemera Imana Imwe Rudende Allah mukubahiriza n’ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati Tutarabakororerako uwo musozi, maze mwitwararike gusoma no gukurikiza ibiri muri yo kugira ngo mwikingire ibihano”."},{"id":64,"translation":"Inyuma y’ivyo vyose, mwarirengagije isezerano ryanyu, mureka kwubahiriza ivyo mwategetswe. Iyo hataba rero impano n’impuhwe z’Imana Allah ngo mwigaye, hanyuma mukababarirwa, ni ukuri mwari kuba mu bahomvye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa."},{"id":65,"translation":"Ni ukuri mwaramaze kumenya inkuru y’ivyashikiye abarenze kw’itegeko ry’Imana Allah muri mwebwe mu gacimbiri “Ilat”. Bakoresheje urwenge mu kutubahiriza umusi w’isabato, aho batega insenga ku wa gatanu, bakazitegura ku musi w’iyinga, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimuhinduke rero inkende musuzugurike”."},{"id":66,"translation":"Ako gacimbiri rero Twahanye, Twakagize inkebuzo yotuma uducimbiri two mu micungararo n’utuzokurikira mu nyuma tudasubira gukoresha urwenge mu kurenga ku mabwirizwa, Tukagira n’inyigisho ku bagamburukiramana babayeho ico gihe n’inyuma y’aho."},{"id":67,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo muri ba sogokuru banyu, iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubaga inka”. Na bo n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Mbega uriko uraduteburako?”. Na yo ibishura yicisha bugufi iti: “Ndikinze ku Mana Allah ko noba mu bakehabwenge babeshera Imana Allah”."},{"id":68,"translation":"Baraheza bavuga bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Idusobanurire ibiranga iyo nka”. Maze ibishura iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibabwira Iti: “Ibiranga iyo nka, ntishaje, kandi si ishashi, ni iyiri hagati na hagati y’izo. Kubera ivyo rero, nimushire mu ngiro ivyo mutegetswe””."},{"id":69,"translation":"Baraheza barasubizayo bati: “Erega dusabire Imana yawe Rurema Allah Idutomorere neza uko isa!”. Na yo ibishura iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka isa n’umuhondo uhishiye cane, ishajije, ibereye ijisho ku bayiraba”."},{"id":70,"translation":"Barasubira kandi bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Yongere Idutomorere kurusha iyo nka iyo ari yo. Mu vy’ukuri, inka zatuzazaniye, na twe ku bushake bw’Imana Allah turipfuza gushika ku nka ikenewe”."},{"id":71,"translation":"Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibishura iti: “Ni ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka atari inka yororewe kurima canke kuvomera, ntigira agatosi na gato, ifise ibara rimwe ry’umuhondo ritarobetse”. Ni ko guca bavuga bati: “Ubu rero uzanye ukuri nya kuri”. Baraheza barayibaga. Bahatswe no kutabikora bitewe n’ukuntu izimvye."},{"id":72,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke kandi n’igihe bamwe muri mwebwe bica umuntu, maze mugacanamwo murondera kumenya uwamwishe. Imana Allah Izogaragaza ivyo mwari mwahishije kw’iyicwa rya nya muntu."},{"id":73,"translation":"Ni ho rero Twaheza Tukababwira Duti: “Nimukubite uwapfuye n’ibihimba bimwe mu bihimba vy’iyo nka mwabaze, Imana Allah Ica Imusubiza ubuzima araheza ababwira uwamwishe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah Izosubiza abapfuye ubuzima ku musi w’izuka, bakazuka. Ibereka n’ivyemezo vyerekana ubushobozi bwayo kugira ngo mutegere neza ububasha bwayo."},{"id":74,"translation":"Mu nyuma y’aho rero, imitima yanyu ha kworoha, yacitse urutare ntiyumva ukuri, imera nk’amabuye canke irusha amabuye gukomera. Ni ukuri, mu mabuye harimwo ayoroshe kuruta imitima yanyu, ariyasa hagatembamwo inzuzi. Ni ukuri, muri yo harimwo ayasaduka hakavamwo iriba ry’amazi, muri yo harimwo n’ayahanantuka imusozi ku gutinya Imana Allah. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera."},{"id":75,"translation":"Bemeramana! Mbega karashize ingani mwibagire akagagazo ka Bene Israyeli, muheze mwipfuze ko bokwemera Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi umugwi w’abamenyi muri bo wahora wumva amajambo y’Imana Allah muri Tawurati, hanyuma ukayahindura nk’uko wishakiye mu kuyasigura ukutari ko, inyuma y’aho utahuriye ukuri kurimwo kandi uzi n’uko urementaniriza Imana Allah!"},{"id":76,"translation":"Iyo bahuye n’abemeramana mu bislamu, babaha akarimi gasosa bati: “Twaremeye ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana nk’uko tubisanga muri Tawurati”. Iyo naho biherereye bonyene bakavuga bakeburana mu guhakana bati: “Mbega yemwe mubwira abislamu ivyo Imana Yabigishije muri Tawurati, vyemeza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, kugira ngo bazobatsindishe ingingo imbere y’Imana yanyu Rurema Allah! Ubwo ntimwogarura akenge ngo mwiyubare!”."},{"id":77,"translation":"Mbega ntibazi mu vy’ukuri ko Imana Allah Izi neza ivyo bagirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, n’uko kandi Izobibahembera!"},{"id":78,"translation":"Burya mu bayahudi harimwo abatazi gusoma no kwandika, batazi n’ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibiri muri Tawurati kiretse ivyipfuzo n’irementanya. Kandi bo nta co bazi atari ugukekeranya gusa."},{"id":79,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukwa barya bahindagura mu kwandika n’iminwe yabo ibiri muri Tawurati, hanyuma bakavuga bati: “Ng’ibi ibivuye ku Mana Allah”, kandi biteye kubiri n’ibiri muri yo, kugira ngo babigurishe ku giciro gito. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku kubera ivyanditswe n’iminwe yabo. Uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku vyo baronderera mw’iryo hindagurwa rya Tawurati."},{"id":80,"translation":"Bene Israyeli bavuze bati: “Ntituzohanwa mu muriro kiretse imisi y’imparurwa (itarenga mirongo ine)”. Ntumwa y’Imana! Babeshuze maze ubabwire uti: “Mbega mwoba mwarahawe isezerano ry’Imana Allah ko Itazobahana kiretse ico kiringo, ku buryo Itazoca kubiri n’isezerano Yabahaye! Ahubwo rero mwebwe mubeshera Imana Allah ivyo mutazi”."},{"id":81,"translation":"Si nk’uko murementanya rero! Ahubwo ingingo y’Imana Allah ntiyigera ihinduka, ko hazohanwa abarondera gucumura bacumuye bagarariza, maze ivyaha vyabo bikabakikuza ku mpande zose, bagacika ababangikanyamana, abo rero, ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":82,"translation":"Na barya bemeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, abo rero na bo nyene bazoshimirwa, ni bo bantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":83,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano Duti: “Ntimwiyegereze mu gusenga kiretse Imana Imwe Rudende Allah, muheze mwubahe mwubahirize agateka k’abavyeyi babibarutse mu bugwaneza, mukorere n’ineza incuti mu miryango, impfuvyi hamwe rero n’abakene, mwongere mubwire abantu akajambo keza, mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatanga n’ishikanwa-bwirizwa”. Mu nyuma y’aho, mwahavuye mugenza umugongo ntimwubahiriza isezerano, kiretse bake muri mwebwe. Kandi mwashishikaye muvyirengagiza ku kagagazo."},{"id":84,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko mutazokwicana ngo musese amaraso hagati yanyu, n’uko mutazokwomorana mu zanyu, muraheza muravyemera muranavyemanga;"},{"id":85,"translation":"Hanyuma mwebwe nyene mu gihe c’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muca kubiri n’iryo sezerano, muricana hagati yanyu, mwomora bamwe muri mwebwe mu zabo, mufashanya n’ababangikanyamana mu gukora ivyaha no mu kurenganya, bituma bamwe muri mwebwe bicwa, barasohorwa no mu zabo. Iyo abagizwe imbohe muri mwebwe baje babagana, murababohoza mwisunze inyigisho za Tawurati, kandi bibujijwe kuri mwebwe kubakura mu zabo. Mbega none ga ntuze, mwemera bimwe muri Tawurati; nko kubohoza imbohe z’indwano, mukagarariza ibindi; nko kwica no kwomorana mu zanyu! Mbega indishi y’abakora ivyo muri mwebwe yoba iyihe, atari ugusuzugurika mu buzima bwo kw’isi! Ku musi w’izuka naho bazoshirwa mu bihano bikomeye. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera."},{"id":86,"translation":"Abo ni bo rero biguze ubuzima buciriritse bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa namba mu bihano ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano."},{"id":87,"translation":"Ni ukuri, Twarahaye Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu nyuma yayo Turungika izindi Ntumwa muri Bene Israyeli, Turaheza Duha Intumwa Isa (Yezu) mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibitangaro bigaragara vyemeza ko ari Intumwa y’Imana[12], Tumuteza intege Mutimamutagatifu Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Mbega none murakanagaye igihe cose haje Intumwa ibazaniye ivyo imitima yanyu itipfuza, mugagaze n’amanyama n’akantu! Zimwe muri zo mwarazigararije izindi na zo murazica.","footnotes":"[12] Nk’ukuvura uwavutse ari impumyi ku bushobozi bw’Imana Allah, uwavukanye indwara zo ku ruhu (urukoba) ku bushobozi bw’Imana Allah, gusubiza ubuzima abapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah."},{"id":88,"translation":"Bene Israyeli babwiye Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwemera”. Si nk’uko bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kubavuma ku kubera ubugarariji bwabo. Burya ni na gake bemera ngo bibagirire akamaro."},{"id":89,"translation":"Igihe Bene Israyeli bashikirizwa Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah gishimangira ivyo basanganwe muri Tawurati n’Injili, barakigararije barahakana n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi imbere y’aho bahora basaba Imana ko botsinda abagarariji bari kumwe n’Intumwa ya nyuma yimirije gushika. Iyo Ntumwa rero imaze kubashikira irangwa n’ivyo bari bazi muri Tawurati, barayigararije ku mvo z’uko itavuye muri bo. Abagarariji barakavumwa n’Imana Allah."},{"id":90,"translation":"Ni bibi cane ivyo biguze bagahitamwo umuriro udahera, bitewe no kugarariza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no guhakana bivuye inyuma ivyo Imana Allah Yayimanuriye muri Qor’ani, kubera urwanko rw’akarenganyo rw’uko Imana Allah Yomanurira Qor’ani uwo Ishaka mu biremwa vyayo, atari muri Bene Israyeli. Kubera ivyo rero, bari bakwiye ishavu ry’Imana ryiyongera kw’ishavu ritewe no guhindagura ibiri muri Tawurati. Burya rero abagararije ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) barategekanirijwe ibihano bisuzuguza."},{"id":91,"translation":"Iyo Abayahudi babwiwe bati: “Nimwemere ivyamanuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”, bishura bati: “Twemera ivyamanuriwe Abavugishwamana barungitswe gusa muri twebwe”, bakagarariza Qor’ani yamanuwe mu nyuma yavyo mu gihe ari kwo kuri gushimangira ivyo bafise muri Tawurati. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None ni kuki mwishe Abavugishwamana imbere yuko Qor’ani imanuka, nimwaba mwemera koko ivyo mwamanuriwe muri Tawurati!”."},{"id":92,"translation":"Ni ukuri, Umuvugishwamana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarabazaniye ibitangaro bigaragara vyemeza ukuri kwiwe[13], hamwe n’ivyo rero mwafashe igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga mu nyuma y’aho Musa agiriye kw’isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah, mu gihe mwari abirenganije mu gusenga ibintazi.","footnotes":"[13] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso."},{"id":93,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko muzokwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati, maze muvyumve muvyubahirize Tutarabakororerako uwo musozi”. Bavuze bigovyora bati: “Twumvise ijambo ryawe, tugararije itegeko ryawe”. Bavuze ukwo kubera imitima yabo yari irajwe ishinga no gusenga igishusho c’inyana y’inka bibumbiye bitewe no kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni bibi cane ivyo mutegekwa n’ukwemera kwanyu nimwaba mwemera ivyo mwamanuriwe n’Imana Allah”."},{"id":94,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira Abayahudi uti: “Nimwaba mufise Ubwami bw’ijuru bwanyu bwite ku Mana Allah, mugenewe mwebwe gusa ata bandi bantu barimwo, nimwipfuze rero urupfu maze mupfe, mubwinjire nimwaba muri imvugakuri!”."},{"id":95,"translation":"Emwee! Ntibazokwigera bipfuza urupfu na rimwe kuko bazi neza ukuri kw’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), n’uko bo barementanya ku kubera ubugarariji bakoze. Burya rero Imana Allah Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, kandi Izobibahembera."},{"id":96,"translation":"Ni ukuri, uzobasanga bahurumbira cane ubuzima bwo kw’isi uko buri kwose, mbere bakabuhurumbira gusumba kurya buhurumbirwa n’ababangikanyamana. Umwe wese muri bo rero yipfuza ko yoramba akabaho imyaka igihumbi, kandi n’aho yoramba iyo myaka, ntibizomubuza guhanwa. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, kandi Izobibahembera."},{"id":97,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga wishure abayahudi ku kwibwira kwabo ko umumalayika Jibrili ari umwansi wabo, uti: “Uwuzoba umwansi w’umumalayika Jibrili, namenye ko mu vy’ukuri uyo mumalayika yamanuye Qor’ani mu mushaha wawe kw’itegeko ry’Imana Allah, ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ni n’uburongozi ikaba n’inkuru nziza ku bemeramana."},{"id":98,"translation":"Uwuzoba umwansi w’Imana Allah n’abamalayika bayo, n’Intumwa zayo mu bamalayika no mu bantu, na canecane abamalayika Jibrili na Mikayeli[14], namenye ko Imana Allah ari Umwansi w’abagararije ivyahishuwe muri Qor’ani”.","footnotes":"[14] Abayahudi bibwira ko Jibrili ari umwansi wabo n’uko Mikayeli ari umuhagarikizi wabo."},{"id":99,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarakumanuriye Aayah n’ivyemezo bitomoye vyemeza ko wewe Muhamadi uri Umuvugishwamana vy’ukuri, ku buryo atawubigarariza atari ibigaba bica kubiri n’idini ry’Imana Allah."},{"id":100,"translation":"Mbega none igihe cose abayahudi batanze isezerano bakwiye kwubahiriza, muri bo hazokwama havamwo umugwi wihindukize kuri ryo, urihonyange! Ahubwo rero abenshi muri bo ntibemera ivyo Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":101,"translation":"Igihe bashikirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibazaniye Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah, gishimangira ivyo bafise muri Tawurati, umugwi w’abamenyi bahawe Igitabu muri bo warihindukije, ushira Igitabu Qor’ani c’Imana Allah inyuma y’umugongo ntiwakurikiza ibirimwo nk’aho boba ata na kimwe bakiziko."},{"id":102,"translation":"Abayahudi bakurikije ivyo amashetani yabwira abarozi n'abapfumu mu bantu, igihe c’ubwami bw’Intumwa Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), bibaza ko ikoreshwa ry’umuyaga n’amajini ico gihe vyari vyavuye ku mvo z’uburozi. Ntibikabe! Intumwa y’Imana Sulayimani ntiyagararije, nta n’uburozi yigeze yiga, mugabo amashetani ni yo yagararije Imana Allah mu kwigisha abantu uburozi. Babigisha n’ivyamanuriwe abamalayika “Haaruti” na “Maaruti” ahitwa “Baabili” muri Iraki kugira ngo Imana Allah Igerageze ibiremwa, kandi nya bamalayika nta n’umwe bigisha batabanje kumwihaniza bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi ikigeragezo ntugararize mu kwiga uburozi ngo uhave wumvira shetani”. Abantu rero baraheza bariga ivyokoreshwa mu gutandukanya umuntu n’umukenyezi wiwe. Burya abarozi, bobo nta bushobozi bafise bwo kugirira nabi umuntu n’umwe, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Ni uko rero, bahavuye biga ibibagirira ingaruka mbi mu kwemera, eka mbere nta n’ico bibungura kw’isi. Ni ukuri, Abayahudi baramenye ko uwuhisemwo kuroga yirengagije ukuri, ata mugabane w’ivyiza azoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi rero, ni bibi cane ivyo biguze mu guhitamwo kuroga no kugarariza ha guhitamwo ukwemera ukuri no gukurikira Intumwa. Iyo rero baba bazi neza ibihano bibarindiriye, ntibari kugarariza."},{"id":103,"translation":"Iyo Abayahudi bemera bakanatinya ibihano vy’Imana Allah, bari kumenya ko indishi ivuye ku Mana Allah ari yo nziza cane gusumba uburozi n’ico babukuramwo. Iyo rero baba bazi ivyo, bari kwemera vy’ukuri."},{"id":104,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukavuge mu gusaba Intumwa y’Imana ko ibitwararika mu nyigisho, mukoresheje ijambo “Raa’inaa” kuko ari igitutsi mu mvugo y’abayahudi, ahubwo muravuga muti: “Undhu-rnaa” (dutumbere kugira ngo tugutahure neza gusumba), muheze kandi rero mutege amatwi mwumvirize inyigisho muhabwa. Abagarariji na bo barategekanirijwe ibihano bibabaza."},{"id":105,"translation":"Kubera urwanko abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana babafitiye, ntibipfuza ko Imana yanyu Rurema Allah Ibamanurira ineza iyo ari yo yose; yaba Qor’ani canke izindi mpano. Burya Imana Allah Iha ubutumwa uwo Ishatse ku mpuhwe zayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye."},{"id":106,"translation":"Twebwe Allah ntiduhindura Aayah canke ngo Tuyibagize burundu ntibe igisomwa, kiretse ko Duca Tuyisubiriza iyindi Aayah ifitiye abantu akamaro kurusha, canke Tukayisubiriza iyindi nkayo ibafitiye akamaro n’indishi nyinshi. Muvugishwamana! Mbega nturamenya wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Mushoboravyose!"},{"id":107,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikora ivyo Ishatse ku neza y’ibiremwa! Bantu mugabitanya ku Mana Allah! Nimumenye ko ata n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka mbere nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo."},{"id":108,"translation":"Bantu! Ahubwo mushaka gusaba Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibintu vy’amananiza ku kagagazo gusa, nk’uko Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasabwe ibintu vy’amananiza aho hambere, ngo twereke Imana Allah ukuri kwamye. Nimumenye rero ko uwiguze ubugarariji ha kwemera, ni ukuri aba yahuvye inzira igororotse uguhuba nya guhuba."},{"id":109,"translation":"Bemeramana! Ku kubera ishari abenshi mu bahawe Igitabu babafitiye, bipfuza ko bobagarura mu bahakanyi mukava mu bwislamu inyuma y’ukwemera kwanyu, ivyo bakavyipfuza inyuma y’aho ukuri kubatomokeye ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Kubera ivyo rero, nimubaharire kw’ibana ribi ryabo, mubababarire, munabirengagize mu kurindira ko Imana Allah Izana itegeko ryayo ribarekurira guhangana na bo ku rugamba, kugira ibahanire ibibi bakora. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;"},{"id":110,"translation":"Mwongere mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatange n’ishikanwa-bwirizwa. Mumenye kandi n’uko iciza cose mukora ku neza yanyu, muzosanga indishi yaco ku Mana Allah ku musi w’impera. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona."},{"id":111,"translation":"Abayahudi n’abanaswara bavuze ngo nta wuzokwinjira mu Bwami bw’ijuru kiretse uwabaye Umuyahudi canke umunaswara. Ivyo ni ivyipfuzo vyabo bitagira ishimikiro namba. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda rero nimuzane icemezo canyu ku vyo muvuga nimwaba muri imvugakuri”."},{"id":112,"translation":"Si nk’uko biyumvira rero, ahubwo abazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ni barya bose bazokwicisha bugufi bakeza n’ivyo bakora ku bw’Imana Allah, maze bagakurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo rero indishi yabo y’Ubwami bw’ijuru bazoyisanga ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi."},{"id":113,"translation":"Abayahudi n’abanaswara baratanyeko umwikomo, Abayahudi bati: “Abanaswara nta kuri barimwo”. Abanaswara na bo bati: “Abayahudi nta kuri barimwo”. Kandi umugwi wose muri bo usoma Igitabu cawo ko ari ngombwa kwemera Intumwa zose. Ni nk’uko nyene abatagira ubumenyi mu babangikanyamana bavuze ko uwuri mw’idini iryo ari ryo ryose na we nyene ata kuri arimwo, kubera iryo hazana rero hagati yabo. Burya rero Imana Allah ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, maze Ihembere umugwi wose ibikwiranye n’ivyo wakoze."},{"id":114,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwubuza ko haninahazwa izina ry’Imana Allah mu gusoma Qor’ani no gusengera mu misigiti yayo, akagira uko ashoboye kwose mu kuyisenyura; mu kuyugara canke kubuza abemeramana kuyisengeramwo. Abo rero ntibari kuyinjira kiretse mu gihe batekewe n’ubwoba ku gutinya guhanwa n’Imana Allah. Baragenewe igihano co gusuzugurika kw’isi, kandi bategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":115,"translation":"Imana Allah ni Yo Igaba Ikaganza ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yavyo. Aho ari ho hose mutumbereye kw’itegeko ry’Imana Allah mu gusenga, haba ari bwo butumbero bushimishije Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":116,"translation":"Abayahudi, abanaswara hamwe n’ababangikanyamana barakanagaye bavuga bati: “Imana Allah Yarigeneye umwana[15]!”. Nininahazwe, ntikitirirwe umwana! Ahubwo ibiri mu majuru no mw’isi vyose ni ibiremwa vyayo, ni Yo Mugabe wavyo, kandi vyose vyicisha bugufi imbere yayo;","footnotes":"[15] Abayahudi bavuga bati: “Uzayiri ni umwana w’Imana”. Abanaswara na bo bati: “Masihi Isa mwene Mariyamu, ni umwana w’Imana”. Ababangikanyamana na bo bati: \"Abamalayika, ni abakobwa b'Imana Allah\"."},{"id":117,"translation":"Ni Yo Muremyi w’amajuru n’isi, n’iyo Ishatse gutegeka ko ikintu ico ari co cose kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene."},{"id":118,"translation":"Abatagira ubumenyi mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana babwiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku kagagazo, bati: “Ese Imana Allah iyo Ipfuma Ituvugisha Ikatubwira ko wewe uri Intumwa yayo, canke tukaronka igitangaro gifadika kivyemeza!”. Ni nk’uko nyene rero n’abagarariji b’aho hambere babwiye Intumwa barungikiwe kuko imitima yabo bose isusa mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, Twaramaze gutomorera neza abemera ata gukekeranya, Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana."},{"id":119,"translation":"Ntumwa y’Imana ! Mu vy’ukuri, Twakurungikanye idini ry’ukuri kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Kandi rero inyuma y’iryo rarikiramana, nta co uzobazwa ku bantu bo mu muriro ururumba."},{"id":120,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abayahudi n’abanaswara ntibazokwigera bakwishimira namba, kiretse hamwe wokurikira idini ryabo ukavavanura n’idini ryawe ry’ubwislamu. Babwire uti: “Uburongozi bw’Imana Allah muri Qor’ani ni bwo burongozi bw’idini ry’ukuri”. Niwahirahira rero ugakurikira ivyipfuzo vyabo kandi waramaze guhishurirwa Qor’ani, nta muhagarikizi n’umwe uzoronka agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere nta n’uwogutabara mu kugukingira nya bihano uzoronka[16].","footnotes":"[16] Iyi ngingo n’aho yavuzwe itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah), iraba n’abo yarungitsweko."},{"id":121,"translation":"Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu bakagisoma ukuri kwo kugisoma, bakagikurikiza uko bitegetswe ata co bahinduye mu kwemera Intumwa zose, ata n’ico bongeyemwo, abo ni bo bemera vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yahishuriwe. Nayo abahindagura canke bakanyegeza ibiri muri nya Gitabu, abo ni bo bagarariza iyo Ntumwa hamwe n’ivyo yahishuriwe. Abo rero ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa."},{"id":122,"translation":"Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;"},{"id":123,"translation":"Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, nta n’ico kwigomboza mu bihano azokwemererwa gutanga, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere nta n’ivugirwa rizogira ico rimumariye, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano."},{"id":124,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yageragezwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Ikamuha amabwirizwa, maze na we arayubahiriza vy’ukuri nk’uko yayahawe. Ni ho rero Imana Yamubwira Iti: “Ngira Ndakugire indongozi y’akarorero ku bantu bose mu kwemera”. Na we aca asaba ati: “No mu ruvyaro rwanje nyene Uragiramwo indongozi”. Imana Allah Imwishura Iti: “Iri sezerano ryanje ryo kuba indongozi mu kwemera, ntirizoshikira abirenganya”."},{"id":125,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twagira ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” ahantu abantu bahurumbira ata kudebukirwa, barondera indishi mu gihe c’ishengerera n’igendera ry’iyo ngoro, batekanye batekaniwe. Maze Tubabwiriza Duti: “Muragira rero ubuhagararo bw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho gusengera”. Twaranahishuriye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Tumutegeka we hamwe n’umuhungu wiwe Ismayili Duti: “Nimusukure ingoro yanje ntagatifu ntirangwemwo n’igihumanya na kimwe, ubukozi bw’ikibi n’ibigirwamana, kugira ngo hakikurwe n’abakikura, abaje kwiyegurira Imana Allah, hamwe rero n’abasenga bunama bubama”."},{"id":126,"translation":"Niwibuke kandi igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Ugire Makka igisagara gitekanye gitekaniwe, Wongere Uhe bene co ivyamwa bitandukanye, na canecane abemera gusa muri bo, Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Maze Imana Allah Iramwishura Iti: “N’uwuzogarariza muri bo Nzomuhako, maze Ndamuhe kuryoherwa gato kw’isi, hanyuma Ndamukwegere mu bihano vy’umuriro. Ayo rero, ni yo maherezo mabi cane."},{"id":127,"translation":"Ibuka n’igihe Ibrahimu na Ismayili (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) baduza inkingi z’ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” bariko batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twakirire iki gikorwa n’igisabisho cacu. Mu vy’ukuri, ni Wewe rero Nyenukwumva, Urumva ivyo tuvuga, Nyenubumenyikurivyose, Urazi n’ivyo duhisha mu mishaha;"},{"id":128,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Tugire abislamu bicisha bugufi imbere yawe, no mu ruvyaro rwacu Ugire umugwi wicisha bugufi, ukugamburukira, Utwereke imigirwa yacu n’aho itegetswe mu gihe co gushengerera ingoro yawe ntagatifu, Wongere Utubabarire. Mu vy’ukuri, Wewe Urumvira abatakamba mu biremwa, Uri Nyenimbabazi ku batoni bawe;"},{"id":129,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”."},{"id":130,"translation":"Nta wirengagiza rero idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa kiretse ikijuju kitiyizi ico kiri. Ni ukuri Twaratoye Ibrahimu kuba Umuvugishwamana akongera akaba n’Intumwa kw’isi, kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda bubashwe;"},{"id":131,"translation":"Ivyo bigaterwa n’ubugamburutsi bwiwe igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamubwira Iti: “Tsimbatara kw’idini ry’ubwislamu” ; na we akishura ati: “Naramaze kuba umwislamu nicisha bugufi mu gusenga Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”."},{"id":132,"translation":"Ni iryo ragi rero Ibrahimu yaraze abana biwe ko botsimbatara ku bwislamu, rikaba ari na ryo ragi nyene Yakubu batazira Israyeli yaraze uruvyaro rwiwe ati: “Bane banje! Mu vy’ukuri, Imana Allah Yarabahitiyemwo idini ry’ubwislamu, muraritsimbatarako mu buzima bwanyu bwose, ntimuzopfe mutari abislamu”."},{"id":133,"translation":"Mbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”."},{"id":134,"translation":"Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[17].","footnotes":"[17] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose."},{"id":135,"translation":"Abayahudi n’abanaswara na bo babwiye abislamu bati: “Nimuje mw’idini ry’ubuyahudi canke ry’ubunaswara, muzoba mukurikiye ukuri n’uburongozi bwiza”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ahubwo nyabuna, ukuri n’uburongozi bwiza, ni idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”."},{"id":136,"translation":"Bislamu! Nimwishure abayahudi n’abanaswara muvuge muti: “Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); twaremeye n’ivyo Yamanuriye Intumwa zayo: Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe; twaremeye na Tawurati yahawe Intumwa Musa, Injili yahawe Intumwa Isa mwene Mariyamu, hamwe rero n’ivyahawe Abavugishwamana bose bivuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ntituvangura namba rero hagati yabo ngo twemere uyu duhakane uriya, tubemera bose. Kandi rero twebwe ku Mana Allah turi abislamu twicisha bugufi mu kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tukayisenga tutayibangikanya”."},{"id":137,"translation":"Abahawe Igitabu rero hamwe n’abandi bagarariji bose, nibemera nk’ivyo mwemeye vyose, bazoba batumbereye inzira y’ukuri kuzima. Nibagenza umugongo bakirengagiza naho, ni ukuri bazoba bari mu nzira y’urwanko iciye kubiri n’ukuri. Kubera ivyo rero, Imana Allah Izogukingira inabi yabo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu."},{"id":138,"translation":"Nimutsimbatare rero kw’idini ry’ubwislamu, ukwemera-ndemanwa kuvuye ku Mana Allah, nta kwemera-ndemanwa rero kwoza gusumba ukwemera ndemanwa Imana Allah Yaremanye abantu. Nimuvyemange rero maze muvuge muti: “Twebwe Iyo Mana Allah ni Yo twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanayisenga mu gukurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu”."},{"id":139,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu uti: “Mbega muduhaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah kandi ari Yo Mana yacu Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose! Dufise ibikorwa dukora tuzohemberwa, na mwe mukagira ibikorwa mukora muzohemberwa, kandi twebwe rero tuyisenga tutayibangikanya na kimwe mu biremwa”."},{"id":140,"translation":"Ahubwo rero, burya muhaririza abislamu ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, muvuga ko Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu hamwe n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe, bari mw’idini ry’abayahudi canke ry’abanaswara, mu gihe abo bose babayeho bagapfa imbere y’irungikwa rya Musa na Isa mwene Mariyamu, bahawe Tawurati n’Injili! Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire uti: “Mbega none, ni mwebwe mwoba muzi idini ryabo kurusha Imana Allah Yabarungitse, Igahishura muri Qor’ani ko bari abislamu, bicisha bugufi mu kuyisenga batayibangikanya! Nta n’umwe rero yirenganya akimonogoza kubasumba ku kunyegeza ivyemezo mufise bivuye ku Mana Allah vyemeza ko izo Ntumwa zose zari abislamu! Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera."},{"id":141,"translation":"Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[18].","footnotes":"[18] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose."},{"id":142,"translation":"Ibijuju mu bayahudi n’ibitazi bimeze nkabo, bizovuga n’agasuzuguro biti: “Ni igiki catumye abislamu bahindura ubutumbero bwa “Bayti l-Maqdis[19]”, bahora berekezako mu gusenga?”. Ntumwa y’Imana! Bibwire uti: “Ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yabwo, vyose ni ivy’Imana Allah, aho dutumbera hose rero tuba twubahiriza ibwirizwa ry’Imana Allah. Irongora mu baja bayo uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse”.","footnotes":"[19] Bayti l-Maqdis ivugwa ng'aha, ni umusigiti mweranda wa mbere wubatswe muri Palestina. Bivugwa ko woba wubatswe n'abamalayika, canke ko wubatswe na Nuhu canke uruvyaro rwiwe, ukaba wagiye urasanurwa n'Intumwa z'Imana zakurikiye mu nyuma; nka Dawudi, Sulayimani, n'izindi. Ni wo musigiti uza ubwa kabiri mu misigiti yubashwe isabwa kugenderwa mu bwislamu, havuye umusigiti w'i Makka n'umusigiti wubatswe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) \ni Madina. Ni muri uwo musigiti nyene Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yareruwe ijanwa mw'ijuru mw'ijoro ryiswe \"ijoro ry'iduzwa ry'Intumwa mw'ijuru\". Ni bwo butumbero bwa mbere rero, abislamu bahora berekezako mu gusenga imbere yuko babwirizwa kwerekeza i Makka."},{"id":143,"translation":"Bislamu! Ni nk’uko nyene rero Twabarongoye mw’idini ry’ubwislamu, Twabagize intore n’intungane mu bantu, kugira ngo mube ivyabona ku bantu bose ku musi w’izuka ko Intumwa z’Imana zashikirije ubutumwa; no kugira rero Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na yo, izobe icabona kuri mwebwe ko yabashikaniye ubutumwa. Ntumwa y’Imana! Ubutumbero bwa Bayti l-Maqdis wahora werekezako mu gusenga, ntitwabuhinduye ngo Tugutumbereze Al-Ka’ba, atari ukugira hamenyekane ku vyo Dusanzwe Tuzi, uwumvira agakurikira Intumwa, hamwe rero n’uwutayumvira akagenza umugongo mu kwemera. Ukwo guhindura ubutumbero mu gusenga, ni ukuri ni ikintu kiremereye kigoye kwumva kiretse kuri barya Imana Allah Yarongoye mu nzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Kandi rero Imana Allah ntiyari kugira impfagusa ukwemera kwanyu ngo ntibemerere amasengesho yanyu mwasenze mugitumbera Bayti l-Maqdis. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":144,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarabona uko waguma urangamiza hejuru urindiriye itegeko ryohishurwa rigutumbereza amaja i Makka. Ni ukuri rero, Tuzokwerekeza ubutumbero buguhimbara, ushime. Kuva ubu rero, tumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu, n’aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera aho nyene mu gusenga. Mu vy’ukuri, abahawe Igitabu barazi neza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri kuvuye ku Mana yabo Rurema Allah, burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo bakora, Izobibahembera."},{"id":145,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu, n’aho wobazanira ivyemezo vyose vyemeza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri, kubera akagagazo ntibopfa bakurikiye ubutumbero bwawe mu gusenga. Na we ntushobora gusubira kandi ku butumbero bwabo. Eka mbere na bamwe muri bo nyene ntibakurikira ubutumbero bw’abandi mu gusenga. Ni ukuri, niwaramuka ukurikiye ivyipfuzo vyabo mu vyerekeye ubutumbero n’ibindi, inyuma y’aho ushikiriwe n’ubumenyi buvuye ku Mana Allah, mu vy’ukuri muri ico gihe, ni ukuri uzoba uri mu birenganije[20].","footnotes":"[20] Iyi Aayah, yega abislamu bose, ikabihaniza gukurikira ivyipfuzo vy’abahakanyi barwanya ubwislamu."},{"id":146,"translation":"Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu Tawurati n’Injili, abamenyi muri bo barazi neza na neza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana bafatiye ku bimuranga biri mu Bitabu vyabo, nka kurya bazi neza na neza abana babo. Mu vy’ukuri, muri bo harimwo umugwi unyegeza ukuri kandi ukuzi."},{"id":147,"translation":"Muvugishwamana! Ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ntukabe rero mu bagira amakenga kuri ukwo kuri."},{"id":148,"translation":"Burya umugwi wose urafise ubutumbero bwawo wahawe n’Imana Allah mu gusenga. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu kwihutira gukora ivyiza mwategetswe. Aho muzoba muri hose rero Imana Allah Izobegeranya mwese ku musi w’izuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":149,"translation":"Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja mu rugendo, maze ugashaka gusenga, uratumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu. Ubwo butumbero ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera."},{"id":150,"translation":"Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah."},{"id":151,"translation":"Nk’uko Twabateye iteka ryo gutumbera amaja i Makka, Twarabarungikiye n’Intumwa ivuye muri mwebwe, ibasomera Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ukuri n’ikinyoma, ikanabeza ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikabigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo (Sunnah), ikanabigisha ivyo mutari muzi mu nkuru z’ab’aho hambere n’Intumwa zabo."},{"id":152,"translation":"Kubera ivyo vyose rero, nimuninahaze mwongere muntazire, Nzobayaga neza Ndabahe n’indishi ibakwiye, muheze rero kandi munshimire mu mvugo n’ingiro, kandi ntimukangararize mu kwihakana inema zanje nabahaye."},{"id":153,"translation":"Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihanganira ibibagoye maze mwihangane mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, kuko ari ryo ribuza umuntu gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku vyo barondera."},{"id":154,"translation":"Bemeramana! Ntimukavuge ku bishwe baharanira idini ry’Imana Allah ko bahwereye! Ahubwo bo ni bazima mu buryo bagenewe n’Imana Allah mu mva zabo, ariko rero ntimwumva ukuntu babayeho[21].","footnotes":"[21] Ubuzima babayeho mu mva zabo, Imana Allah ni Yo gusa Izi ukuntu buteye. Iyi Aayah rero, iremeza ko mu mva hariyo amahirwe ku bantu b’aberanda."},{"id":155,"translation":"Ni ukuri, Tuzobagerageza n’akantu gato mu kugira ubwoba, inzara (amapfa), no mu gukehanirwa n’amatungo canke kuyabura, mu kubura abanyu mu mpfu zisanzwe canke kwicwa mu guharanira idini ry’Imana Allah, mu kugabanuka canke kubura umwimbu mu biterwa mbumbarugo hamwe rero n’ivyamwa. Muvugishwamana! Shikiriza rero abihangana mu gihe c’ibiza n’amagorwa inkuru nziza ihumuriza ko bazohabwa iherezo ryiza mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa,"},{"id":156,"translation":"Barya iyo bashikiwe n’ikiza baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi abaja b’Imana Allah, ni Yo Rugaba Itugaba Ikatuganza muri vyose, kandi mu vy’ukuri twebwe, tuzosubira kuri Yo nitwamara gupfa, duheze tuzuke Iduharurire, Iduhembere ivyo twakoze”."},{"id":157,"translation":"Abo rero, ni bo bari mu mahoro n’impuhwe z’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo bagororotsi bari mu nzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah."},{"id":158,"translation":"Mu vy’ukuri, imisozi “Swafa” na “Mar-wa” iri amaja mu buseruko bwa Al-Ka’ba, ni mu bimenyetso vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Uwuzoja gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, nta caha kuri we kiri mu gukokera anyaragasa (sa’yi) hagati y’iyo misozi. Uwuzokwitanga ku bw’Imana Allah mu gukora ivyiza bidategetswe, mu vy’ukuri Imana Allah Irashima, Izobimuhembera, kandi Irazi ibikorwa vy’abaja bayo, nta we Izorenganya na gato."},{"id":159,"translation":"Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Twabamanuriye mu bimenyetso n’uburongozi, vyemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, inyuma y’aho Tubigaragarije abantu muri Tawurati n’Injili, abo ni bo bavumwe n’Imana Allah, banasabirwa imivumo n’ibiremwa vyose."},{"id":160,"translation":"Kiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya ivyaha vyabo, bagatunganya n’ivyo bononye, bakanagaragaza ukuri banyegeje, abo ni bo Jewe Allah Numvira, Nkabagirira ikigongwe, ni na Jewe rero Nyenukwumvirabigaya, Numvira abantakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni banje."},{"id":161,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije bakananyegeza ukuri, bagaheza bagashishikara ukwo, bagarariza gushika gupfa, abo ni bo bakwiye imivumo y’Imana Allah, iy’abamalayika hamwe rero n’iy’abantu bose."},{"id":162,"translation":"Bazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze."},{"id":163,"translation":"Bantu! Burya Imana Yanyu ni Imana Imwe Rudende Allah[22]. Nta yindi mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero Nyenimpuhwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[22] Ni Imwe Rudende mu bumana bwayo, mu mazina n’amatazirano yayo, hamwe rero no mu bikorwa vyayo biyiranga ko Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende."},{"id":164,"translation":"Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari; mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari bwunguruza ibifitiye akamaro abantu; mw’igwishwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’ikwiragizwa ry’ibinyabuzima bitandukanye bigendagenda mw’isi; mw’irungikwa ry’umuyaga hamwe n’isunikwa ry’ibicu mu kirere kiri hagati y’ijuru n’isi, mw'iremwa ry'ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa bakikebuka, bagaheza bakamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende."},{"id":165,"translation":"N’aho biri ukwo, mu bantu harimwo abirengagiza Imana Allah bakagira mu gishingo cayo ibigirwamana bakunda nka kurya bategerezwa gukunda Imana Allah, kandi bitabikwiye. Nayo abemeramana barakunda bakubaha Imana Allah kurusha uko nya bantu bakunda ibigirwamana vyabo. Iyo abirenganije mw’ibangikanyamana bamenya igihe babonye ibihano vyo ku musi w’izuka, ko mu vy’ukuri Imana Allah ari Yo Nyeninguvu zose, n’uko Imana Allah Ihana Igahasha, ntibari gusenga ibigirwamana."},{"id":166,"translation":"Igihe rero babonye ibihano ku musi w’izuka, indongozi z’abahakanyi zizokwigarama abazikurikiye mw’ibangikanyamana, n’ivyabahuza kw’isi vyose bizohera."},{"id":167,"translation":"Abakurikiye nya ndongozi na bo, bazoheza bavuge n’ishavu n’akantu bati: “Ese iyo tuba dushoboye gusubira kw’isi, maze tukigarama izo ndongozi nk’uko zitwigaramye!”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Izobereka ibihano vyayo ku musi w’izuka - Izobereka ibikorwa vyabo vyabaye impfagusa maze bicuze, eka mbere bobo ntibazopfa bavuye mu muriro udahera."},{"id":168,"translation":"Emwe bantu! Nimufungure mu vyimburwa mw’isi, ibirekuwe vyiza[23] bitabagirira ingaruka mbi, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu kuzirura ibizira, mu kuziririza ibiziruye, no mu kwadukana rero bishasha mw’idini. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara.","footnotes":"[23] Ibirekuwe vyiza, ni birya vyose bisukuye bidahumanye, ata ngaruka mbi bigirira uwubifunguye canke uwubinyoye."},{"id":169,"translation":"Ni ukuri, shetani ibategeka gukora ibibi n’ivyaha vy’agahomerabunwa no kurementaniriza Imana Allah mu kuziririza ibirekuwe canke kuzirura ibizira mudafitiye ubumenyi."},{"id":170,"translation":"Iyo abemeramana bahanuye abahuvye bakababwira bati: “Nimukurikire uburongozi n’ivyahishuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”. Baragagaza bakishura bati: “Ahubwo nyabuna dukurikira ivyo twasanze abavyeyi bacu bakora!”. Mbega none, karashize ingani bakurikire abavyeyi babo n’aho boba ata na kimwe batahura ku vyerekeye Imana Allah n’uburongozi bwayo!"},{"id":171,"translation":"Akarorero k’abahakanye n’uwubararikira ukwemera Imana Allah, ni nk’ak’umwungere acamura ibitungwa abikankamira kandi bitumva kiretse ijwi gusa, ntibiheze rero ngo bitahure insiguro y’amajambo. Ni ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ibiragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibagira ubwenge ngo batahure icobagirira akamaro."},{"id":172,"translation":"Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga."},{"id":173,"translation":"Ivyo Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe, ni ivyobagirira ingaruka mbi nk’intumvyi[24], ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’ivyabagiwe rero ikitari Imana Allah. Kubera rero impuhwe z’Imana Allah kuri mwebwe, uwo wese ubuzima bwiwe buzoba bubangamiwe n’inzara, ararekuriwe gufungura ibikwiriye kurokora ubuzima atarengeje urugero canke ngo arenge imbibe z’ibirekuwe n’Imana Allah, uyo rero nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[24] Igitungwa capfuye kidakerewe kw’izina ry’Imana Allah."},{"id":174,"translation":"Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Imana Allah Yamanuye mu Bitabu vyayo, biranga bikemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, bakanemera kwakira impongano nto nk’ikiguzi c’ukwo kunyegeza ukuri, abo ntibashira mu nda zabo kiretse umuriro udahera. Imana Allah ntizobavugisha ku musi w’izuka, eka mbere ntizonabeza ivyaha vyabo. Baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":175,"translation":"Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, bongera bigura ibihano ha kurondera kugirirwa imbabazi n’Imana Allah. Barubahuka bakarenza ntuze, none ni igiki kizotuma bihanganira umuriro udahera!"},{"id":176,"translation":"Ivyo bihano rero barabikwiye, kuko Imana Allah Yamanuye Ibitabu birimwo ukuri kugaragara, baraheza barabihakana bivuye inyuma. Mu vy’ukuri, abacanyemwo bakemera bimwe mu biri mu Gitabu bagahakana ibindi, bari mu mpari ziri kure y’ukuri."},{"id":177,"translation":"Nta neza muziga ku Mana Allah mu gutumbera mu buseruko no mu burengero mu gusenga kutubahirije ibwirizwa ry’Imana Allah. Ahubwo ineza nya neza, ni ukwemera kw’uwemeye Imana Imwe Rudende Allah akanemera n’umusi w’imperuka, abamalayika bose, Ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana Allah, Abavugishwamana bose ata kuvangura, agahereza mu matungo yiwe akunda incuti mu muryango, impfumvyi, abakene, uwakehaniwe ku rugendo, abasega kuko bugarijwe n’ubukene; agatanga no mu kubohoza imbohe n’abagurano; agatsimbataza isengesho, agatanga n’ishikanwa-bwirizwa, abubahiriza isezerano ryabo iyo baryiyemeje, abihangana mu bukene, mu gihe c’indwara, no mu gihe c’indwano. Abo ni bo rero mvugakuri. Abo ni na bo rero batinya ibihano vy’Imana Allah maze bakavyikingira."},{"id":178,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwihora ku bishwe n’ibigira nkana, hakicwa uwishe, uwigenga yicwa yishe uwigenga, umugurano yicwa yishe umugurano, n’umukobwa yicwa yishe umukobwa[25]. Uwuzobabarirwa n’umuhagarikizi w’uwishwe ntiyihore, akemera gushumbushwa, araheza yishuze ku neza mu rupfasoni, na we aheze yishure mu bugwaneza. Ukwo ni ukworoherezwa n’impuhwe bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah. Inyuma yo kwubahiriza iyo ngingo yo kubabarirwa, uwuzorengera ku wishe akamwica, uyo azohabwa igihano kibabaza cane co kwicwa no guhanwa mu muriro udahera.","footnotes":"[25] Imbere yuko iyi Aayah imanuka, uwishe umugurano canke umukobwa bene umuhisi mu kwihora basaba kwica uwigenga canke umugabo. Iyi Aayah rero ica ishinga itegeko ko hicwa uwishe mu gihe yagiriwe n’icaha co kwica ibigirankana."},{"id":179,"translation":"Emwe bantu mufise ubwenge! Itegeko ryo kwihora hakicwa uwishe, kuri mwebwe ririmwo ubuzima bw’iteka n’itekane, kugira ngo mutinye Imana Allah ntimusese amaraso."},{"id":180,"translation":"Mwategetswe mu gihe umwe muri mwebwe yoba ari ku mpfiro, bishitse agasiga amatungo, ko yoraga ku neza ata nkunzi bimwe muri yo, maze bigaherezwa abavyeyi biwe n’incuti za hafi mu muryango afatiye ku bakenye kurusha abandi, mu gihe bitarenze ica gatatu c’amatungo yiwe. Ako ni agateka ntabanduka kubahirizwa n’abagamburukiramana[26].","footnotes":"[26] Iyi ngingo yubahirizwa imbere yuko hamanuka Aayah zitunganya ibijanye no gutorana."},{"id":181,"translation":"Uwuzohirahira agahindura iragi inyuma yuko aryumvise ku muhisi, mu vy’ukuri ivyaha bizoba ari ivy’uwahinduye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera."},{"id":182,"translation":"Uwuzotinya ko uwuraga yohava arenganya canke ko yokora icaha hashizwe mu ngiro iragi yasize kuko ritisunga amategeko, agaheza agatunganiriza abasigwa mu guhindura ingingo zirimwo akarenganyo mw’iragi, uyo nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":183,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwipfunga nk’uko ab’aho hambere yanyu babitegetswe, kugira ngo mwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kuyumvira ari Imwe Rudende;"},{"id":184,"translation":"Ni ukwipfunga imisi imparurwa. Uwuzoba rero muri mwebwe arwaye canke ari ku rugendo, arafungura aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. N’abapfunga bibagoye cane kubera ubusaza canke indwara zidakira, aba barafungurira umukene umwe mu gishingo c’umusi umwe batapfunze. Uwuzogira ico azorenzako ku bushake bwiwe kizoba ari ku neza yiwe. Mu gihe mwokwihanganira ukwipfunga kubagora maze mugapfunga, vyoba ari vyo vyiza kuri mwebwe kuruta gufungurira abakene, iyo muba muzi rero ivyiza birimwo, mwopfunze."},{"id":185,"translation":"Ni mu kwezi kwa “Ramadhani” Imana Allah Yatanguye kumanura Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, irimwo uburongozi ku bantu n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma. Kubera ivyo rero, uwo ukwezi kuzoboneka akomeye atari ku rugendo, aragupfunga. Uwuzoba muri mwebwe na we arwaye canke ari ku rugendo, arafungura hanyuma aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. Imana Allah Ibashakira ukworoherwa mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, eka mbere ntishaka ko mworemerwa mukananirwa kugira ngo mukwize igitigiri c’imisi y’ukwipfunga, muheze musozere amapfungo mukuza Imana Allah muyininahaza ku musi mukuru wo gufungura, kugira ngo muyishimire ku vyiza Yabashoboje."},{"id":186,"translation":"Muvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy’ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c’umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[27].","footnotes":"[27] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Iri hafi cane y’abaja bayo mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."},{"id":187,"translation":"Imana Allah Yarabarekuriye mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani” ko murangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu. Ni bo babafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo[28], na mwe mukabafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo. Imana Allah Irazi ko mwahora mwihemukira mukarangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani[29]”, Iraheza Irabagirira ikigongwe Irabababarira. Guhera ubu rero, murarangura amabanga y’abubatse munarondera ico Imana Allah Yabageneye mu bibondo, munafungure mwongere munywe gushika umutwenzi w’ukuri ukitse, hanyuma mukwize amapfungo kugera izuba rirenze. Ntimuzohirahire ngo murangure amabanga y’abubatse canke ngo muhobere abakenyezi mu gihe mwiyeguriye Imana Allah mu misigiti “Itikaafu”. Izo rero, ni imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah, ntimukazivogere ngo muhave mugwa mu vyaha. Ukwo ni ko Imana Allah Itomorera abantu ingingo n’amabwirizwa yayo kugira ngo bayigamburukire mu kuyubahiriza.","footnotes":"[28] Nka kurya impuzu igumiriza ibanga uwuyambaye.\n[29] Ubwa mbere bagitegekwa ukwipfunga."},{"id":188,"translation":"Ntimukarye amatungo ya bamwe muri mwebwe mu buryo butarekuwe[30], kandi ntimugatange ivyemezo vy’ikinyoma ku batware kugira ngo mwihagire amatungo ya bamwe muri mwebwe mwisunze ikinyoma kandi na mwe nyene muzi ko kizira.","footnotes":"[30] Nko gukoresha indahiro y’ikinyoma, kwambura utwa murundi, kwiba, gutanga igiturire, inyungu izira “riba”, akamari, n’ibindi."},{"id":189,"translation":"Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ivyerekeye imboneko y’amezi, igituma ukwezi kuboneka ari guto, kugakura hanyuma kugasubira kuba guto! Zishure uti: “Imboneko y’amezi, ni ibimenyetso abantu bamenyerako ibihe vyo gutunganya amasengesho no gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka “Hijja”, hamwe rero n’ibindi bikorwa vyabo vya misi yose. Nta neza iri mu kwinjira amazu muciye mu busongero bwayo mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, ariko rero ineza iri mu kugamburukira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Ba mwinjira amazu rero muciye mu muryango mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka. Muheze kandi mwumvire Imana Allah mu vyo mukora kugira ngo muroranirwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":190,"translation":"Bemeramana! Nimuharanire idini ry’Imana Allah mu kurwanya ababarwanya, kandi ntimukarenganye mu kwica abantu kizira ko bicwa nk’abana, abagore n’abatama. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z’ibibujijwe."},{"id":191,"translation":"Murica rero ababarwanya aho muzobasanga hose, mubomore mu kubakura aho babasohoye i Makka. Igeragezwa ry’ubugarariji, ibangikanyamana hamwe rero no kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, ni bibi cane kurusha kubica. Ntimukabarwanye muri mu musigiti mutagatifu kiretse mu gihe ari bo babatanguye. Nibabatangurira mu musigiti mutagatifu rero, murabica. Ni nk’iyo ndishi rero ikwiye abagarariji."},{"id":192,"translation":"Nibaheba ubugarariji no kubarwaniriza mu musigiti mutagatifu, bakaba abislamu, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":193,"translation":"Bemeramana! Murashishikara kurwanya ababangikanyamana babasotora, gushika n’aho ata geragezwa mu kwemera rikibaho, hasigare idini ry’Imana Allah Itabangikanywa na kimwe mu biremwa. Nibaheba ubugarariji no kubarwanya, murabaha amahoro kuko nta rwanko kiretse ku birenganya mu kugarariza no mu kubarwanya."},{"id":194,"translation":"Bemeramana! Ukurwanya ababangikanyamana mu kwezi kiziramwo kurwana, ni mu ntumbero yo kubihora kuko na bo nyene babarwanije muri ukwo kwezi. Uwurenze imbibe z’Imana Allah z’ivyaziririjwe, ahabwa igihano gisa n’icaha yakoze. Uwuzobarengera akarimbi rero, muramwivuna ingere ku yindi kuko ari we yabasotoye. Muheze rero mutinye Imana Allah ntimurenze urugezo mu kwivuna, muheze mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana."},{"id":195,"translation":"Bemeramana! Nimushishikare gutanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, ntimukanahirahire ngo mwiyahure mu kureka gutanga no guharanira idini ry’Imana Allah, muheze rero kandi mubikore mu bugwaneza ku bw’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza bakora ivyo bakora ku bwayo."},{"id":196,"translation":"Muratunganya ugushengerera no kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka ku bw’Imana Allah. Nimwazitirwa n’intambamyi ibabuza kubitunganya mwamaze kubizirikana, mukambara n’urubega “ihraamu”, murabaga imbagwa iboroheye kuronka mu bitungwa, maze mwitoneshe ku Mana Allah, muheze mukure urubega rwanyu muhejeje kumwa canke kugabanya umushatsi. Ntimuzomwe umushatsi wanyu mu gihe muzitiwe mutarabagira aho nyene mwazitiriwe, muheze rero inyuma yaho mukure urubega[31]. Uwuzoba na we muri mwebwe arwaye canke afise ikimubangamiye ku mutwe gituma ategerezwa kumwa acambaye urubega, aramwa ace ategekwa icuhagizo co kwipfunga imisi itatu canke guhereza imfungurwa abakene batandatu[32] canke kubaga intungwa imwe akayigaburira aboro b’i Makka. Nimwaba naho muri mu mutekano mufise amagara meza, uwuzoba yazirikanye gusa kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka “Umra”, mu kurindira ko igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri \ni Makka “Hijja” gishika, uyo rero arabaga mu bitungwa imbagwa imworoheye. Ataronse imbagwa, arapfunga imisi itatu akiri gushengerera mu mezi ya “Hijja”, yongere apfunge n’iyindi misi indwi mumaze gusubira mu banyu, yose hamwe izoba ibaye imisi cumi ategerezwa gupfunga. Izo ngingo zerekeye abatagira umuryango usanzwe uba i Makka. Muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha uwuciye kubiri n’amabwirizwa yayo.","footnotes":"[31] Ukwo ni ko Intumwa y’Imana yabigenjeje igihe abahakanyi bayibuza kwinjira i Makka igeze ahitwa “Hudaybiyya”, yaciye ibagira aho nyene hanyuma iramwa umushatsi.\n[32] Ahereza umwe wese muri bo ibingana n’ivyo woyoza amashi incuro zibiri."},{"id":197,"translation":"Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi[33]. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge!","footnotes":"[33] Ukwezi kwa cumi “Shawwaal”, ukwezi kwa cumi na rimwe “Dhu l-Qa’da” n’imisi cumi ya mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri “Dhu l-Hijja”."},{"id":198,"translation":"Nta kibi kuri mwebwe kiri mu kurondera ingabirano z’Imana yanyu Rurema Allah mu rudandazwa mu gihe co gushengerera ingoro ntagatifu. Nihagera aho mutera muva “Arafaati” mugana “Muzdalifa” izuba rimaze kurenga[34], muraninahaza mutazira musaba kenshi Imana Allah mugeze “Muzdalifa” ahagenewe kuninaharizwa Imana Allah. Murayininahaza kenshi rero ku vyo Yabashoboje Ikabarongora mu nzira yayo. Ni ukuri mwari mu bahuvye imbere yuko Ibarongora.","footnotes":"[34] Ku musi w’igenekerezo rya 9 mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12."},{"id":199,"translation":"Muraheza rero, mubandanye muvuye “Muzdalifa” mutera muja “Mina” mwahereye “Arafaati”, ari na ho Intumwa y’Imana Ibrahimu yahereye, muheze munasabe Imana Allah ikigongwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":200,"translation":"Nimwaheza ibikorwa vyanyu bitegetswe mu gushengerera ingoro ntagatifu, muraninahaza mutazira Imana Allah kenshi cane, nka kurya mwigamba muhayagiza abavyeyi banyu canke murushirizeho. Burya mu bantu harimwo umugwi witwararika ivy’isi maze ugasaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vy’isi: amagara meza, amatungo n’ibibondo”. Abo, nta mugabane bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":201,"translation":"Muri bo kandi harimwo umugwi witwararika ubuzima bw’inyuma yo gupfa, usaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vyiza vyose vy’isi no mu vyiza bidushikana mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Wongere Udukingire ibihano vyo mu muriro udahera”."},{"id":202,"translation":"Abo ni bo rero bategekanirijwe umugabane w’indishi nziza ku vyo barondeye. Burya Imana Allah Irananyarutsa mu guharurira no mu guhemba abaja bayo."},{"id":203,"translation":"Muraninahaza mwongere mutazire Imana Allah mu misi imparurwa[35]. Uwuzoshaka kwihuta kuva “Mina” imbere yuko izuba rirenga ku musi ugira uw’icumi na kabiri, akaba yahejeje gutera amabuye ku biterero (Jamaraat), nta caha kuri we. N’uwuzocererwa kuva “Mina[36]”, akavayo ahejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, nta caha kirimwo ku wugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko muzokwegeranirizwa kuri Yo, kugira Ibaharurire Yongere Ibahembere ivyo mwakoze.","footnotes":"[35] Ni imisi itatu ikurikirana, igenekerezo rya 11, 12 na 13 ikurikira ilayidi nkuru mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12.\n[36] Ugucererwa kuva “Mina”, ukavayo uhejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, ni na vyo vyiza kuko ari ko Intumwa yabigenjeje."},{"id":204,"translation":"Ntumwa y’Imana! Burya mu bantu harimwo indyarya, uryoherwa n’ivyo ivuga mu kurondera ivy’isi, ikarahira ikarengwa ko ikunda ubwislamu, ikanubahuka kugira Imana Allah Icabona ku biri mu mutima wayo, kandi ari yo mwansi mubi w’ubwislamu;"},{"id":205,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo yikebanuye muvanye, irakerebuka ica hirya n’ino kw’isi mu bwononyi, kugira ngo ihonye ibiterwa n’ibitungwa. Burya Imana Allah ntikunda na gato ubwononyi;"},{"id":206,"translation":"Iyo nya ndyarya ihanuwe iti: “Tinya Imana Allah maze wiyubare ibihano vyayo, uheze uvavanure n’ubwononyi”, ica itwarwa n’ubwishime mu kubandanya ikora ivyaha. Kubera ivyo, irakwiye guhanwa mu muriro wa Jahannamu, n’ukuri ni na bwo busaswa bubi cane."},{"id":207,"translation":"Mu bantu harimwo kandi n’uwiguze ugushimwa n’Imana Allah mu guharanira idini ryayo. Burya Imana Allah ni na Yo Nyenikigongwe ku baja bayo b’abatoni."},{"id":208,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimufate nkama amabwirizwa yose y’ubwislamu, maze muyubahirize ata na rimwe mwirengagije muri yo, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu guca kubiri n’amabwirizwa yabwo. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara."},{"id":209,"translation":"Nimwahusha inzira y’ukuri mu nyuma y’aho mushikiriwe n’ivyemezo bitomoye muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, muramenya ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":210,"translation":"Inyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":211,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza Bene Israyeli bakwihambazako, Twabahaye Aayah n’ivyemezo bitomoye bingahe biri mu Bitabu vyabo bahakanye, bakanabihindagura! Uwuzohindura inema y’idini ry’Imana Allah akayigarariza inyuma yuko imushikiriye akanayitahura, aramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Ihana Igahasha abagarariji."},{"id":212,"translation":"Ubuzima bwo kw’isi busharijwe n’ibihendamaso ku bahakana bivuye inyuma ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, bakanasuzugura abemeramana. Abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ku musi w’izuka bazoba bari hejuru yabo mu Bwami bw’ijuru. Burya Imana Allah Itanga Idaharuye ingabirano zayo ku wo Ishaka mu biremwa."},{"id":213,"translation":"Burya rero, abantu bari umugwi umwe mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah hanyuma baracanamwo mw’idini, Imana Allah Iraheza Irungika Abavugishwamana bashikiriza inkuru nziza abumviramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, bagabisha n’abagarariji ku bihano vy’umuriro. Yaranabarungikanye vy’ukuri Ibitabu bishimangira ukuri, kugira ngo bavyisunge mu gutunganiriza abantu ku vyo bahazanako. Nta bahazanye rero ku bijanye no kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na Qor’ani, kiretse abahawe Igitabu ca Tawurati, inyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bitomoye biri muri co ko ari Intumwa y’ukuri, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari bayifitiye. Ni ho rero Imana Allah Yaheza Ikarongora ku burenganzira bwayo, abemeye mu gutandukanya ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanyeko. Burya Imana Allah Irongora uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse."},{"id":214,"translation":"Bemeramana! Ahubwo rero, mwibaza none ko mwokwinjira mu Bwami bw’ijuru mutarashikirwa n’ibigeragezo nk’ivyashikiye abakurambere banyu mu kwemera! Barakozweko n’ubukene, indwara n’ubwoba, barahinda igisamagugu[37] bitewe n’ukuntu bageragejwe, gushika aho Intumwa n’abemeramana bari kumwe bavuga bati: “Intsinzi y’Imana Allah izoshika ryari?”. Bantu! Nimwumve mwumvireho! Burya intsinzi iturutse ku Mana Allah iri hafi ku bemera.","footnotes":"[37] Guhinda igisamagugu, ni ukurengerwa n’ingorane ukabura aho witura."},{"id":215,"translation":"Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ico zotanga n’abo zogiha! Zishure uti: “Ni ivyo mushoboye gutanga mu vyiza bivuye mu matungo yanyu mukabihereza abavyeyi, incuti za hafi mu muryango, impfuvyi, abakene hamwe rero n’abakehaniwe ku rugendo. N’ikindi ico ari co cose muzokora mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera”."},{"id":216,"translation":"Bemeramana! Mwarategetswe kurwana n’abagarariji kandi muri kamere k’umuntu mwanka indwano. Burya rero hari aho mwokwanka ikintu kandi kirimwo ineza kuri mwebwe; hari n’aho mwokunda ikintu kandi kirimwo inabi kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ikirimwo ineza kuri mwebwe, mu gihe mwebwe ata vyo muzi."},{"id":217,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku bijanye n’indwano, ko irekuwe mu kwezi gutagatifu! Bishure uti: “Kurwana mu kwezi gutagatifu ni icaha gikomeye, ariko kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, guhakana Imana Allah, kubuza abantu kwinjira mu musigiti mutagatifu w’i Makka no kwomora mu gisagara c’i Makka Intumwa n’abemeramana, ni co caha gikomeye cane ku Mana Allah, gusumba icaha co kurwana mu kwezi gutagatifu. Kandi burya ibangikanyamana ryanyu, ni ribi cane kurusha kwica mu kwezi gutagatifu. Kandi rero abagarariji ntibazoreka kubarwanya gushika babakuye mw’idini ryanyu ry’ubwislamu mukabakurikira, nibaba bazobishobora! Uwo wese muri mwebwe rero, azota idini ryiwe akabakurikira, maze agapfa akiri umugarariji, uyo ari mu bantu ibikorwa vyabo bizohunguruka bikababera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":218,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, abimutse bagata izabo, hamwe rero n’abitanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo ni bo rero baziga kuronka impuhwe n’indishi z’Imana Allah. Burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":219,"translation":"Muvugishwamana! Abislamu barakubaza ingingo ijanye no kunywa, kugura no kugurisha inzoga[38], hamwe rero n’ingingo ijanye no gukina urusimbi[39]! Bishure uti: “Vyompi birimwo ivyaha n’ubwononyi bikomeye mw’idini, mw’isesagurwa ry’amatungo n’isinzikazwa ry’amagara mu buzima. Harimwo n’inyungu rero ku bantu mu vy’isi, ariko ivyaha n’ubwononyi birimwo, bifise ingaruka mbi cane kurusha inyungu zavyo[40]”. Baranakubaza kandi urugero rw’ivyo botanga mu mperezwa ku bushake! Bishure uti: “Nimutange ikirenze ku vyo mukeneye”. Ni nk’ukwo rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro;","footnotes":"[38] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiborera, caba ari ikinyobwa, icokurya canke ico kwimotereza.\n[39] Urusimbi, ni ugukinira kuronka canke gutanga amahera hakoreshejwe urwenge.\n[40] Iyi Aayah yamanutse ubwa mbere nk’integuza yo kuziririza inzoga n’urusimbi. Iyi Aayah rero yerekana na canecane ko inzoga n’urusimbi bifise ingaruka mbi cane ku muntu; biramusamaza mu kutaninahaza no kudasenga Imana Allah, bitera urwanko n’inzigo mu bantu, bituma kandi haba isesagurwa no kunyonora amatungo hakoreshejwe urwenge."},{"id":220,"translation":"kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranakubaza ku bijanye n’ico bokorera impfuvyi zitaragera mu bigero! Bishure uti: “Kuzitunganiriza ikizifitiye akamaro gusumba ni vyo vyiza. Nimwabana na zo mu buzima bwa misi yose, murazifata nka benewanyu mu kwemera maze muzitunganirize”. Burya Imana Allah Irazi neza umwononyi n’uwurajwe ishinga no kuzitunganiriza. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubaremereza mu kubabuza kubana na zo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":221,"translation":"Bislamu! Ntimukabire ababangikanyamanakazi batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umuguranokazi atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamanakazi n’aho mwomugomwa. Ntimugashingire ababangikanyamana batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umugurano atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamana n’aho mwomugomwa. Abo babangikanyamana ni bo rero bararikira abantu kuja mu muriro, Imana Allah na Yo Ikararikira abaja bayo ku burenganzira bwayo, kuja mw’idini ryayo ry’ubwislamu rizobashikana mu Bwami bw’ijuru no kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibibahanire, Ikanatomorera abantu Aayah n’ingingo zayo kugira ngo bibuke baheze bikebuke."},{"id":222,"translation":"Muvugishwamana! Barakubaza ku bijanye n’ubutinyanka. Bishure uti: “Ubutinyanka burabangamye! Muririnda rero kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abakenyezi bari mu butinyanka. Ntimuzohirahire rero ngo murangurane na bo amabanga y’abubatse gushika babuvemwo baheze bihumanure mu kwiyuhagira. Nibabuvamwo bakiyuhagira, muraheza murangurane na bo amabanga y’abubatse aho murekuriwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abigaya kenshi, Iranakunda abisukuye mu kwiyeza ivyaha n’umwanda”."},{"id":223,"translation":"Abakenyezi banyu ni zo ndimiro zanyu muteramwo intanga hakavuka abana. Kubera ivyo rero, nimurangurane n’abakenyezi banyu amabanga y’abubatse ahategetswe mu buryo bwose mwipfuza, munakore ibikorwa vyiza bitegetswe ku neza yanyu. Kandi rero mugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mumenye ko muzohura na Yo ku musi w’izuka Ikabahembera ivyo mwakoze. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shikiriza abemeramana inkuru nziza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru."},{"id":224,"translation":"Bislamu! Ntimukagire indahiro zanyu ku Mana Allah inzitizi ibabuza gukorera ineza benewanyu, kugamburukira Imana Allah, hamwe rero no gutunganiriza abantu[41]. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.","footnotes":"[41] Aho ni mu gihe umuntu yorahira kw’Izina ry’Imana Allah kudakora kimwe muri ivyo bidondaguwe, ntibishemeye namba ko yoreka kubikora yitwaza ko adakwiye kurenga ku ndahiro, ahubwo araheza agakora nya vyiza, hanyuma akagira icuhagizo co kurenga ku ndahiro, agaheza rero agafungurira canke akambika abakene cumi, canke agaha ubwigenge umugurano, canke rero agapfunga imisi itatu."},{"id":225,"translation":"Imana Allah ntizobahanira kwisubirako ku ndahiro zanyu murahiye ku kwihenda bidatewe no gushaka kwanyu, ariko Izobahanira kwisubirako ku ndahiro mwarahiriye nkana ku gushaka kwanyu, burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere."},{"id":226,"translation":"Abazorahira ko batazorangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi babo mu buzima bwabo bwose canke mu kiringo kirenga amezi ane, bafise ikiringo c’amezi ane co kwisubirako, nibisubirako ku ndahiro imbere yuko amezi ane arangira, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":227,"translation":"Nibapfundika ingingo yo kwahukana naho, bakaguma ku ndahiro yabo y’ukutarangura amabanga y’abubatse muri nya kiringo, mu vy’ukuri Imana Allah Irumva ivyo bavuga, Irazi neza n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera."},{"id":228,"translation":"Abakenyezi bahukanye bagishobora kuja mu butinyanka, bategerezwa kwarama (eda) ikiringo co kuja canke kuva mu butinyanka gatatu, kugira hamenyekane ko boba bafise imbanyi. Muri ico kiringo, ntibarekuriwe kwabirwa, canke kunyegeza ico Imana Allah Yaremye mu bitereko vyabo; imbanyi canke ubutinyanka nibaba bemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’imperuka. Abagabo babo muri ico kiringo, ni bo bafise uburenganzira bwo kubasubirana mu gihe bobikora ku neza mu ntumbero yo gusubiza hamwe. Abakenyezi na bo barafise uburenganzira n’agateka ku bagabo babo; nk’ako abagabo babo babafiseko ku neza. Kandi rero abagabo barafise agateka karenzeko ku bakenyezi gashingiye ku guhagararira no kubeshaho umuryango no gufata ingingo yo kwahukana. Burya rero Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":229,"translation":"Ukwahukana ubwo gusubirana ni incuro zibiri gusa. Muri ico gihe, ingingo yubahirizwa, ni ugusubirana bakabana ku neza, canke bakahukana hubahirijwe agateka n’icubahiro c’umukenyezi mu bugwaneza mu kutandagazwa. Kandi ntimurekuriwe gusaba gusubizwa na kimwe mu nkwano canke ibindi mwabahaye, kiretse mu gihe abubakanye botinya ko batubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muri ico gihe rero baraheza bahanuze abahagarariye imiryango, abo nimwatinya ko abubakanye batokwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, nta kibi kiri mu kwumvikana gusubizwa inkwano, kugira ngo umugabo aheze yemere kwahukana. Izo ngingo ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah ntimukazirengeko ngo mucike ibigaba. Abarenga imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, abo rero ni bo birenganya."},{"id":230,"translation":"Umugabo niyahukana n’umugore wiwe rero ku ncuro igira gatatu, ntazoba arekuriwe kumwabira inyuma y’aho, kiretse abanje kwabirwa n’uwundi mugabo ku bushake bwabo bakarangurana n’amabanga y’abubatse. Ico gihe rero bishitse nya mugore akahukana canke agapfakara, nta caha kiri mu gusubirana n’urya wa mbere akamwabira bushasha, mu gihe bokwibwira ko bazokwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse nk’uko bitegetswe n’Imana Allah. Izo ngingo rero, ni imbibe ntarengwa z’Imana Allah Itomorera abantu bazi akamaro ko kuzubahiriza."},{"id":231,"translation":"Nimwahukana n’abakenyezi banyu bakarama mu kiringo ca “eda[42]”, nibaba bari mu guheza ico kiringo, murabagumya mushoboye kwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muheze mubasubirane ku neza, canke mubareke ku neza ico kiringo giheze. Ntimuzohirahire ngo mubagumye mu ntumbero yo kubahohotera mu kutubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse. Uwuzogira ivyo, azoba yirenganije ku bihano bimurindiriye. Kandi rero ntimukagire Aayah n’ingingo z’Imana Allah itebura n’ifyinata. Muraheza mwibuke inema y’ubwislamu no gutomorerwa ingingo mwahawe n’Imana Allah, mwongere mwibuke kugendera Qor’ani n’imigenzo y’intumwa Yabamanuriye, Ibahanura ko mutobica kubiri. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenubumenyi ku vyo mukora vyose, kandi Izobibahembera.","footnotes":"[42] Ukwaramira ukwahukana mu bwislamu, kuri mu bwoko bubiri: hari ukwaramira ukwahukana ubwo gusubirana. Kukaba ari kwo kuvugwa ng'aha aho abahukanye bashobora gusubirana mu gihe bovyipfuza imbere yuko ikiringo gitegekanijwe kirangira. Hakaba rero n'ukwaramira ukwahukana ubutagisubirana n'aho bovyipfuza."},{"id":232,"translation":"Nimwahukana n’abakenyezi banyu ubwo gusubirana, maze ikiringo co kwarama ca eda kigahera mutabasubiranye, ntimuzobabuze gusubira kwabirwa bushasha n’abahoze ari abagabo babo nibavyipfuza bakavyumvikana ku neza. Iyo ni impanuro ihabwa uwuzoba muri mwebwe yemera Imana Allah n’umusi w’imperuka. Ukutababuza gusubira kwabirwa, ni co kirimwo imigisha n’indishi nta ngere, hamwe rero n’icubahiro kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ibirimwo ineza yanyu mu gihe mwebwe ata vyo muzi."},{"id":233,"translation":"Abavyeyi[43] basabwa kwonsa abana babo imyaka ibiri ikwiriye ku wushaka kwonsa bikwiye. Muri ico gihe, ba se na bo basabwa gufungurira no kwambika abavyeyi bonsa ku neza hisunzwe ubushobozi bafise, kuko Imana Allah ntitegeka umuntu kiretse ico ashoboye. Umwana ntazobe inyendamuvano yo guhohotera nyina, eka ntazonabe inyendamuvano yo guhohotera se. Uwutorana mu gihe se yahwereye, na we ategetswe kwubahiriza ivyari bitegetswe umuhisi gufungurira no kwambika uwonsa. Mu gihe abo bavyeyi bokenera gucutsa uyo mwana bavyishakiye, bakavyumvikana ku neza y’uwo mwana imbere yuko imyaka ibiri ihera, nta caha kirimwo kuri bo. Nimwashaka naho kumwonkesha ku wundi muvyeyi atari nyina, nta caha kirimwo nimwatekerera nyina mukongera mugahereza uwumwonsa agashimwe ku neza hisunzwe imibereho y’aho hantu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora vyose, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ivyo mukora vyose Ibibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.","footnotes":"[43] Ni mu gihe bahukanye bafise umwana yonka."},{"id":234,"translation":"N’abapfuye muri mwebwe abagabo bagasiga abakenyezi, abapfakazi bategetswe kugandarira abagabo babo ikiringo c’amezi ane n’imisi cumi[44]. Ico kiringo nibagiheza, nta caha kuri mwebwe muhagarikiye umuryango ku vyo bokora ku neza mu kwidegemvya mu ruja n’uruza, gushaza no kwabirwa bubahirije amategeko. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.","footnotes":"[44] Muri ico kiringo co kugandara, kirazira gusohoka mu rugo ata mvo ihambaye, gushaza hamwe rero no kwabirwa."},{"id":235,"translation":"Nta n’icaha kuri mwebwe abagabo, mu gihe mwogira icerekana mudahishutse ko mwipfuza kwabira abakenyezi bagandaye, canke baramye ubutagisubirana, eka nta n’icaha kuri mwebwe mu gihe mwokwipfuza kubabira mukabigumiza ku mutima ntimubiserure. Imana Allah Irazi ko muzogira ico mubavuzeko bakigandaye, ariko rero, ntimuzobizeze mw’ibanga ngo mugire ico mukoze[45] mwiherereye ico kiringo kitararangira, kiretse nko kubabwira akajambo keza[46]. Ntimuzotegure kubabira mu gihe bakigandaye imbere yuko ikiringo kirangira. Muraheza rero mumenye ko Imana Allah Izi ivyo muhishije mu mitima yanyu maze muyiyubare. Muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.","footnotes":"[45] Nko kubabira canke kubashurashuza.\n[46] Nko kuvuga uti: “Abagabo barakeneye umukenyezi yiyubashe nkawe!” ."},{"id":236,"translation":"Nta caha kuri mwebwe abagabo mu gihe mwokwahukana n’abakenyezi inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse canke mubagenera inkwano. Muraheza rero muri ico gihe mugire ico mubatekereye: uworohewe aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, umukene na we aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, kugira ngo amushumbushe ku neza. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagwaneza."},{"id":237,"translation":"Nimwahukana n’abakenyezi rero inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, mwaramaze kubagenera inkwano, ico gihe mutegerezwa kubahereza igice c’inkwano zumvikanweko, kiretse mu gihe abo bakenyezi bemeye kugiheba, canke abagabo bakemera kubahebera ikindi gice. Nimwaheberanira rero, ni vyo bizobegereza kurusha ku gutinya no kwumvira Imana Allah, kandi ntimuzokwibagire ineza n’ubugwaneza buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera."},{"id":238,"translation":"Bislamu! Nimutsimbatare mu kwamizako amasengesho-bwirizwa atanu akwije ibisabwa ku mwanya wayo, na canecane isengesho ryo hagati na hagati ryo ku muhingamo, muraheza kandi muhagarare mu masengesho mwicishije bugufi ku Mana Allah."},{"id":239,"translation":"Nimwatinya ko umwansi yobubira muri mw’isengesho akabatera, murasenga muriko muragenda canke muri ku bitwazi uko bibashobokeye kwose; nko gukoresha ibimenyetso canke kudatumbera ubutumbero bwo gusenga[47]. Nimwatekana, muraheza rero musenge isengesho ry’uwutekanye rikwije ibisabwa, maze muninahaze Imana Allah muyishimira ku ngingo n’amabwirizwa Yabigishije vyerekeye ukuyiyegereza, mutari gupfa mubimenye.","footnotes":"[47] Iri sengesho ryitwa “swalaatu l-Khawf” isengesho ry’uwutekewe n’ubwoba."},{"id":240,"translation":"Abazoba bari ku mpfiro muri mwebwe abagabo, bagapfa basize abakenyezi, barasiga baraze ko abakenyezi babo boguma baba mu nzu zabo umwaka wose atawubakomakoma, kuva umusi bapfiriyeko, mu ntumbero yo kubashumbusha. Nibazivamwo ku bushake bwabo imbere yuko uwo mwaka urangira, nta caha kuri mwebwe abasigwa mu vyo nya bapfakazi bakoze birekuwe. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[48].","footnotes":"[48] Ingingo ziri muri iyi Aayah zasubiriwe n’iziri muri Aayah ya 234 muri iki gisomwa c’Inka."},{"id":241,"translation":"Abakenyezi bahukanye, baratekererwa ku neza icobabeshaho n’impuzu, hisunzwe ubushobozi bw’umuhisi. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagamburukiramana."},{"id":242,"translation":"Ni nk’uko nyene rero - izo ngingo zitomoye mu vyerekeye agateka k’abakenyezi n’abana - Imana Allah Itomora Aayah n’amabwirizwa yayo ku vyo mukeneye, kugira ngo muyategere muheze muyagendere."},{"id":243,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abataye izabo, bagahunga ari ibihumbi n’ibihumbagiza batinya kwicwa n’indwara y’akaranda canke indwano y’akaranda, hanyuma Imana Allah Ikababwira Iti: “Nimupfe”, bagaca bapfira rimwe bose, hanyuma Ibasubiza ubuzima kugira ngo bakwize imyaka Yabageneye kubaho, kugira bikebuke, bigaye! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano nyinshi ku bantu, ariko rero abenshi mu bantu ntibashima."},{"id":244,"translation":"Bislamu! Nimurwanire idini ry’Imana Allah, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora n’ivyo muzirikana."},{"id":245,"translation":"Ni nde yogurana Imana Allah ingurane nziza agatanga mu nzira yayo, maze Ikamugwiriza indishi yayo incuro nyinshi nta ngere! Burya Imana Allah Iragumya ingabirano zayo Ikagerera umukene, Ikanazirekura Igaha umutunzi umusesekara. Nimutange rero mu vyo Ibaha mutitangiriye itama, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":246,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abatewe iteka muri Bene Israyeli, inyuma yuko Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) itari ikiriho! Igihe basaba Umuvugishwamana wabo bati: “Twimikire umwami aturongore mu guharanira idini ry’Imana Allah, maze turwanye abansi bacu!” Na we abishura ati: “Ubwo ntivyoshika, mu gihe mwotegekwa kurwana ko mutorwana?”. Na bo barishura bati: “Ni igiki cotubuza kurwanira idini ry’Imana Allah, mu gihe twamaze kwomorwa mu zacu hamwe n’abana bacu?”. Kukaba nkako, Imana Allah Imaze kubategeka kurwana barongowe n’uyo mwami, bagenjeje umugongo barisubirako kiretse bake muri bo. Burya Imana Allah ni Yo Izi neza abirenganya mu kutubahiriza isezerano."},{"id":247,"translation":"Umuvugishwamana wabo yababwiye ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamaze kubarungikira Twaluti ngo ababere Umwami, yongere abarongore mu kurwanya umwansi nk’uko mwabisavye”. Abatewe iteka muri bo barishura n’ubwishime n’akantu bati: “Vyoshoboka gute ko Twaluti aba umwami wacu, kandi umwami akwiye gutorwa muri twebwe, akaba ata n’ubutunzi yahawe!”. Umuvugishwamana araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramubahitiyemwo, Imwongerereza ubumenyi n’inguvu bimushoboza kurwanya umwansi, kandi rero Imana Allah Iha ubwami bwayo uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose”."},{"id":248,"translation":"Umuvugishwamana wabo abandanya ababwira ati: “Ikimenyetso c’ubwami bwiwe, ni uko azoza afise isandugu ririmwo Tawurati mwanyazwe n’abansi banyu, harimwo n’ituze rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, hamwe rero na bimwe mu bisigi[49] vyasizwe n’umuryango w’Intumwa y’Imana Musa n’uw’Intumwa y’Imana Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), bikaza bireruwe n’abamalayika”. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ikimenyetso gihambaye kuri mwebwe ko Twaluti yarungitswe koko kw’itegeko ry’Imana Allah nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa zayo.","footnotes":"[49] Nk’inkoni n’ibisigarira vy’Imizingo yanditseko amabwirizwa Imana Allah Yahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)."},{"id":249,"translation":"Umwami Twaluti rero amaze gusohoka n’ingabo ziwe agiye kurwana n’umwansi, yabwiye ingabo ziwe ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ihava Ibagerageza ko mwihangana nimwagera ku ruzi muhava mujabuka, uwuza kunywa muri rwo ntituzoba turi kumwe ku rugamba; uwutaza kunywa muri rwo, uyo tuzoba turi kumwe kiretse gusa uwonywa urushi rumwe. Bamaze rero gushika kuri rwa ruzi baranyoye amazi bararenza, kiretse bake muri bo banyoye urushi rumwerumwe gusa. Twaluti amaze kujabuka rwa ruzi ari kumwe n’abemeramana bake basigaye[50], bamaze kubona ubwinshi mu gitigiri n’ibirwanisho vy’abansi, bavuze bati: “Nta nguvu dufise kuri uyu musi zo kurwanya Jaluti n’ingabo ziwe”. Abizeye ko bazohura n’Imana Allah barishuye bibutsa bagenzi babo ubushobozi bw’Imana Allah, bati: “Ni kangahe umugwi w’abantu bake bemera, batsinze umugwi w’abantu benshi b’abagarariji ku bushobozi bw’Imana Allah! Burya Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi”.","footnotes":"[50] Barenga gato abantu amajana atatu na cumi."},{"id":250,"translation":"Bamaze kubonana imbonankubone na Jaluti ari kumwe n’ingabo ziwe, baratumbereye Imana Allah batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ducucagire ukwihangana, Wongere Utsimbataze amaguru yacu ntiduhunge urugamba, Uduhe no gutsinda abagarariji”."},{"id":251,"translation":"Ni ho rero bahavuye babatsinda ku bushobozi bw’Imana Allah, Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza arica Jaluti umukuru w’izo ngabo, maze Imana Allah Ica Imuha ubwami n’ubutumwa kuri Bene Israyeli, Imwigisha n’ivyo Ishaka mu bumenyi. Iyo rero Imana Allah Itaja Iraha inkomezi abemeramana ngo batsinde abagarariji, isi yari kwuzura ubwononyi bitewe n’ukuganza kw’abagarariji, ariko rero Imana Allah ni Nyeningabirano ku biremwa vyose."},{"id":252,"translation":"Muvugishwamana! Ivyo ni ibimenyetso n’ivyemezo vy’Imana Allah, Tukwiganira vy’ukuri. Kandi mu vy’ukuri wewe, ni ukuri uri imwe mu Ntumwa zacu."},{"id":253,"translation":"Izo Ntumwa rero, muri zo hari izo Twebwe Allah Twahaye icubahiro kuruta izindi mu nema; muri zo, harimwo izo Imana Allah Yavugishije (nk’Intumwa Musa na Muhamadi, za nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[51], hakaba n’izo Yahaye icubahiro co hejuru (nk’Intumwa Muhamadi nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[52]. Twaranahaye Intumwa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibitangaro bigaragara vyemeza ko ari Intumwa y’Imana[53], Twongera Tumuteza intege Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Iyo rero Imana Allah Ishaka ko abaje mu nyuma y’izo Ntumwa batarwana mu nyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bigaragaza ukuri, ntibari kurwana, ariko rero baracanyemwo mu guhazana, muri bo hari abatsimbataye ku kwemera, hari n’abagararije. Iyo Imana Allah Ishaka inyuma y’ukwo gucanamwo mu guhazana kwatumye barwana, ntibari kurwana, ariko Imana Allah Ishoboza kuyumvira no kuyemera uwo Ishatse, Igatetereza mu bagarariji uwo Ishatse, kuko Ikora ivyo Ishatse.","footnotes":"[51] Muri iyi Aayah harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.\n[52] Kuko yarungitswe ku bantu bose hamwe n’amajini, yasozereye Intumwa hamwe n’Abavugishwamana bose, hamwe rero no guha abantu yarungitsweko bakayemera, icubahiro gisumba iyindi migwi yarungikiwe izindi Ntumwa, n’ibindi.\n[53] Nk’ukuvura uwavutse ari impumyi ku bushobozi bw’Imana Allah, uwavukanye indwara zo ku ruhu ku bushobozi bw’Imana Allah, gusubiza ubuzima abapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah."},{"id":254,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza amabwirizwa yayo! Nimutange ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa mu vyo Imana Allah Yabaronkeje, imbere yuko mushikirwa n’umusi w’izuka ry’ibiremwa, aho ata rudandazwa ruzokorwa ngo rwunguke ruheze rubagombore mu bihano vy’Imana Allah, nta n’ubugenzi eka nta n’ivugira bizogira ico bibamariye. Burya abagarariji ni bo birenganya mu kurenga imbibe z’ivyaziririjwe n’Imana Allah."},{"id":255,"translation":"Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ntihunikira (Ntihunyiza) eka Ntinasinzira. Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Nta n’umwe yokwubahuka kuvugira uwundi imbere yayo, kiretse ku burenganzira buvuye kuri Yo. Ni Yo Izi bikwiye inkuru z’ibiremwa vyose, kahise, kubu na kazoza kavyo. Nta n’umwe ashoboye kumenya na kimwe mu bumenyi bwayo kiretse ivyo Yo Yonyene Ishatse ko amenya. Ubuvyagiro bw’Ibirenge vyayo bukwiriye amajuru n’isi, kandi ntibiyiruhije kubungabunga amajuru n’isi. Ni na Yo rero Nyenicubahirogisumbavyose, Nyenicubahiro-ntangere[54].","footnotes":"[54] Iyi ni yo Aayah ihambaye gusumba izindi muri Qor’ani. Yitwa Aayatu l-Kursiy."},{"id":256,"translation":"Nta winjira mw’idini ry’ubwislamu ku gahato, kuko ryikwije kandi ritomoye, ukuri n’uburongozi biratomoye kuruta ikinyoma n’uguhuba. Uwugararije ibigirwamana vyo mu bwoko bwose[55] agaheza akemera Imana Allah, ni ukuri nta nkeka ko aba afashe ipfundo ry’idini ritigera ripfunduruka. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera.","footnotes":"[55] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa."},{"id":257,"translation":"Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’abemeramana mu kubatabara no mu kubabungabunga, Ibakura mu muzimagiza w’ubugarariji Ikabaganisha mu muco w’ukwemera. Nayo abagararije, abahagarikizi babo n’ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, bibakura mu muco w’ukwemera bikabaganisha mu muzimagiza w’ubugarariji, abo rero ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":258,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega urabona igitangaje kiruta ukuntu uwuraho yahaririye n’Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ku bijanye n’ukwemera Imana yiwe Rurema Allah, ku kubera ko Imana Allah Yamuhaye ubwami maze akihambaza! Igihe yabaza Intumwa Ibrahimu ati: “Imana yawe Rurema ni nde?”. Intumwa Ibrahimu iraheza iramwishura iti: “Imana yanje Rurema, ni Irya Iha ibiremwa ubuzima bikabaho, Ikongera Ikavyaka ubuzima bigapfa”. Na we ati: “Jewe ndatanga ubuzima nkongera nkica uwo nshatse”. Intumwa Ibrahimu ivuga iti: “Mu vy’ukuri Imana nsenga, Iserura izuba mu buseruko, enda rero na we riserure mu burengero!”. Ni ho wa mugarariji yajumararirwa ubwanwa bupfuka umunwa. Burya Imana Allah ntirongora mu nzira y’ukuri abirenganya ku bugaba bwabo."},{"id":259,"translation":"Canke ga Ntumwa y’Imana! Urabona nka wa muntu yaca mu gacimbiri imihana yako yasenyaguwe hagahona n’abakabamwo, araheza avuga yitangaza ati: “Ni gute Imana Allah Yosubiza ubuzima aka gacimbiri mu nyuma y’ihonywa ryako!”. Imana Allah Iraheza Imwaka ubuzima arapfa araheza amara imyaka ijana, hanyuma Iramuzura Imusubiza ubuzima, maze Iramubaza Iti: “Mbega wari umaze imyaka ingahe warapfuye!”. Arishura ati: “Nari maze umusi umwe canke igice c’umusi”. Imana Imubwira Iti: “Ahubwo wari umaze imyaka ijana warapfuye! Ehe mbere raba imfungurwa n’ibinyobwa vyawe Twarabibungabunze ntivyabora, raba n’indogobwe yawe rero ukuntu Tuyisubiza ubuzima kugira ngo Tukugire ku bantu ikimenyetso c’ubushobozi bw’Imana Allah bwo kuzura ibiremwa; ehe raba amagufa ukuntu Tuyasubiranya hanyuma Tukayambika inyama Tugasubiza nya ndogobwe ubuzima! Wa muntu, amaze kwibonera n’amaso yiwe iryo zuka, yashotse yemanga ko Imana Allah ari Mushoboravyose."},{"id":260,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasaba kwibonera ukuntu izurwa ry’ibiremwa riba, ikavuga iti: “Mana yanje Rurema Allah! Nyereka ukuntu Uzura abapfuye!”, Imana Allah Ikamubaza Iti: “Mbega none nturemera!”, na yo isubizayo iti: “Nobuzwa n’iki kwemera! Ahubwo nshaka gusa kwongerereza ukwemera ku kwemera kwanje, maze umutima wanje uturure kurusha”. Imana Allah ni ho Yamubwira Iti: “Fata rero inyoni zine uzibage, maze uzikebagure uduceduce, hanyuma uheze unyanyagize nya duce ku musozi umwumwe, uhejeje uhamagare nya nyoni, ziraheza zikwitabe vuba bwango ari nzima. Uraheza rero umenye kandi ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”. Kukaba nkako Ibrahimu yabigenjeje nk’uko yabwiwe n’Imana Allah, agize ngo arahamagara nya nyoni, zaciye zimwitaba zinyaragasa."},{"id":261,"translation":"Akarorero k’abemeramana batanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, ni nka kurya kw’urutete rwateragiwe mw’isi y’akanovera, ruraheza ruranaga igiti gifise amashami indwi; maze kuri buri shami hakabako intete ijana, kanatsinda Imana Allah Igwiriza indishi uwo Ishatse Ikurikije umuzirikanyi wiwe. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera."},{"id":262,"translation":"Abatanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibakurikize ivyo batanze agashinyaguro canke agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi."},{"id":263,"translation":"Burya akajambo keza wishura uwusaba, no kumubabarira ku kwama ariko arasega, ni vyiza kuruta imperezwa ikurikijwe agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro. Burya Imana Allah Irikenuye nta co Ikeneye ku mperezwa y’ibiremwa, ni Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana."},{"id":264,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’umusi w’imperuka! Ntimukonone indishi y’imperezwa zanyu ku kuzikurikiza agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, nka wa wundi atanga amatungo yiwe ku kwiyerekana ku bantu, atanemera Imana Allah n’umusi w’imperuka; uyo rero akarorero kiwe, ni nk’ak’ibuye ry’isare ririko ivu, hanyuma hakagwa imvura nyinshi igahungurura nya vu, igasiga rya buye ryererana ritagirako intumo; ni nk’uko rero, abatanga ku kwiyerekana, indishi y’ibikorwa vyabo iyonga, nta na kimwe baronka mu ndishi y’ivyo barondeye, burya Imana Allah ntishoboza abagarariji gutumbera ukuri mu gutanga ku bwayo."},{"id":265,"translation":"Nayo akarorero ka barya batanga amatungo yabo barondera gushimwa n’Imana Allah, no gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, ni nk’ak’umurima utotahaye uri ahantu hataramutse himbuka, haguye imvura nyinshi, gutyo umwimbu uva muri nya murima ukiyongera incuro zine; iyo muri nya murima hataguye imvura nyinshi iranyanyagira, amama yayo akaba akwiye kugira ngo umwimbu wiyongere[56]. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.","footnotes":"[56] Ni na ko abatanga ku bw’Imana Allah imperezwa zabo zaba nke canke nyinshi zakirwa zikagwizwa n’Imana Allah incuro nyinshi mu ndishi."},{"id":266,"translation":"Mbega muri mwebwe, hari uwipfuza ko yoba afise umurima ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, musi yavyo hatemba inzuzi z’amazi meza y’akanovera, muri nya murima akaba afisemwo amoko yose y’ivyamwa, na we akaba ageze mu za bukuru atagishoboye guteragira, akaba afise rero n’abana bakiri bato bakeneye kwikora kuri nya murima, hanyuma hakaza umuyaga w’igihuhusi uvanze n’umuriro ukawuturira[57]! Ni nk’ukwo nyene rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze rero mutange imperezwa zanyu ku bwayo.","footnotes":"[57] Ukwo ni ko bizogendera abatanga ku kwiyerekana ku musi w’izuka ry’ibiremwa, nta ndishi bazoronka."},{"id":267,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo! Nimutange mu vyiza birekuwe mwarondeye, no mu vyo Twabahaye kwikorako mu biri mu kuzimu. Ntimugatumbere ibidashemeye ngo mubitangeko imperezwa ku bw’Imana Allah, kandi na mwe nyene mu gihe mwobihabwako mutovyakira kiretse mu gihe mwokwirengagiza ukuntu bidashemeye. Muraheza rero mumenye kandi ko Imana Allah Yikenuye, ata co Ikeneye ku mperezwa zanyu, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":268,"translation":"Kuba ingumyi no gutanga ibidashemeye biterwa n’inyoshambi za shetani, ibizeza ubukene mu gihe mwotanga ibishemeye, gutyo ikabosha kuba ingumyi, ikanabategeka gukora ibibi, kandi Imana Allah na Yo Ibasezeranira ko mu gihe mwotanga imperezwa muzogumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, vyirengagizwe ntimubihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mukongererezwa no mu ngabirano zayo ibibabeshaho. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera."},{"id":269,"translation":"Imana Allah Iha ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro uwo Ishatse. Uwo Imana Allah Ihaye ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, uwo ni ukuri aba ahawe ivyiza vyinshi. Ivyo nta n’uwuvyibuka kiretse abanyabwenge."},{"id":270,"translation":"Ico ari co cose mwatanze mu matungo, canke mwiyemeje gukora ku bw’Imana Allah, caba gito canke kinini, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi Izokibahembera. Uwuzoreka rero gutanga azoba yirenganije, kandi rero abirenganya mu kudatanga mu nzira y’Imana Allah nta babatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":271,"translation":"Nimwatanga imperezwa ku mugaragaro ku bw’Imana Allah, ni vyiza; nimwayitanga naho mu mpisho mukayihereza abakene, bizoba ari vyiza kuri mwebwe gusumba kuko ata kwiyerekana kuba kurimwo. Gutyo rero Imana Allah Izonabababarira ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera."},{"id":272,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntujejwe gushoboza abagarariji kurongoka, ariko rero Imana Allah Ishoboza kurongoka mu nzira yayo uwo Ishatse. Ico cose mutanga mu matungo muzogihemberwa ku neza yanyu, kanatsinda mwebwe mwemera, nta n’ico mutanga kiretse ku kurondera gushimwa n’Imana Allah. Ico ari co cose rero mutanze mu matungo muzohabwa indishi yaco, kandi ntimuzorenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi."},{"id":273,"translation":"Muragenera rero imperezwa zanyu abakene bihebeye guharanira idini ry’Imana, bigatuma badashobora guca irya n’ino kurondera ikibabeshaho, uwutabazi ababonye yokwibaza ko ari abatunzi bikenuye ku kwiyubaha ntibasege; ubamenyera ku bimenyetso vy’ugukena, ntibigera basabiriza; n’iyo bibaye ngombwa gusaba, ntibasega bakwizingirako ku gahato. Ico cose mutanze rero mu matungo, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi, Izokibahembera."},{"id":274,"translation":"Abatanga amatungo yabo ku bw’Imana Allah mw’ijoro no ku murango, mu mpisho no ku mugaragaro, abo bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi."},{"id":275,"translation":"Abarya inyungu izira (riba), ntibazohagarara bava mu mva ku musi w’izuka atari nka kurya uwafashwe na shetani ahaguruka adandabagirana, ivyo bigaterwa n’uko bavuze bati: “Burya urudandazwa n’inyungu yarwo irarekuwe nk’iyiva muri “riba””. Banguha! Burya Imana Allah Yararekuye urudandazwa n’inyungu ivamwo; kuko harimwo guhanahana ibidandazwa ku nyungu zigaruka ku mudandaji n’umuguzi, Iziririza inyungu iva muri “riba”; kuko harimwo agahotoro n’isesagurwa ry’ubutunzi. Uwo wese rero azoshikirwa n’ingingo y’Imana yiwe Rurema Allah yo kuziririza inyungu izira, agaheza akavavanura na yo, uyo nta caha kuri we, ararekuriwe inyungu yaronse imbere yuko iziririzwa, Imana Allah Imutegeye ku bikurikira muri kazoza. Nayo uwuzosubira kurya inyungu izira inyuma y’aho, uyo azoba ari mu bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":276,"translation":"Imana Allah Ivuma inyungu izira, Ikagwiza imigisha y’imperezwa, kandi rero Imana Allah ntikunda namba umugarariji karuhariwe yuzuye ivyaha bitewe no kurya inyungu izira."},{"id":277,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi."},{"id":278,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze mureke gusaba inyungu izira ku matungo yanyu mwahora mukoresha imbere yuko “riba” iziririzwa nimwaba muri abemeramana koko mu mvugo n’ingiro;"},{"id":279,"translation":"Nimutabigenza nk’ukwo rero, muraheza mwitegurire indwano iturutse ku Mana Allah n’Intumwa yayo; nimwigaya naho mukagaruka ku Mana Allah, muzoba murekuriwe kwakira imitahe y’ingurane zanyu mutayisavyeko inyungu izira, ntihagire n’uwo murenganya ngo mumwake ikirenze ku mutahe, eka mbere na mwe nyene ntihagire n’uwubarenganya ngo abasubize ingurane y’umutahe idakwiye."},{"id":280,"translation":"Uwaguranywe niyaba adashoboye kuriha, muramurindira gushika aho bizomushobokera kuriha. Nimwamuhebera ingurane yose canke igice cayo, bizoba ari vyiza kuri mwebwe nimwaba muzi indishi zirimwo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":281,"translation":"Bantu! Nimwiyubare rero umusi mwasubiye ku Mana Allah kugira muharurirwe, hanyuma umwe wese muri mwebwe akazohabwa indishi y’ivyiza canke ibibi yarondeye, kandi rero abantu ntibazorenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi[58].","footnotes":"[58] Izi Aayah zirerekana ko kuvavanura n’inyungu izira (riba) gutsimbataza ukwemera hamwe n’ibindi bikorwa vyiza bitegetswe; nk’ugutsimbataza amasengesho, ugutanga ishikanwa-bwirizwa n’ibindi."},{"id":282,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimwaguranana ingurane izokwishurwa ku gihe cumvikanyweko, murashoka muyandika. Umwanditsi w’umwizigirwa araheza abandikire. Uwahawe n’Imana Allah amahirwe yo kumenya kwandika, niyasabwa kubandikira ntazokwanke, araheza rero yandike ivyo abwiwe n’uwahawe ingurane, kandi atinye Imana yiwe Rurema Allah ntagabanye na gato ku vyo yishuzwa. Uwahawe iyo ngurane niyaba yarakehewe n’ubwenge, akiri muto ataragera mu bigero, yarasaze canke ari nyamuragi, umuhagarikizi wiwe aravuga ata karenganyo ico yishuzwa. Muraheze rero musabe ko hoba ivyabona bibiri vy’intungane mu bagabo muri mwebwe nyene. Nihataboneka abagabo babiri, murasaba ko umugabo umwe n’abagore babiri mwishimiye boba ivyabona, kugira ngo umwe muri nya bagore niyibagira, uwundi aze yibutse mugenziwe. Ivyabona ntibizokwanke kwitaba nivyarengutswa gushikiriza ico bizi, kandi ntimuzonebwe kwandika ingurane yaba nto canke nini n’igihe izorihirwa. Iyo ni yo ngingo itunganye ku Mana Allah, ni na bwo buryo butomoye bwo kwisunga mu kuba ivyabona, ni na yo nzira kandi ya hafi yo gukura amakenga mu bijanye n’ubwoko bw’ingurane, uko ingana n’ikiringo izorihirwako. Ariko rero mu gihe rwoba ari urudandazwa rubaye hagati yanyu aho nyene, nta kibi kuri mwebwe mu kutarwandika, mugabo ni vyiza ko mwotora ivyabona mu gihe c’igura n’igurishwa ku mpungenge zo kwanka gucanamwo. Kirazira rero ko umwanditsi n’icabona bagirirwa nabi n’uwatanze ingurane, uwayihawe canke uwundi wese yokenerako ijambo. Nimwagira ivyo mubujijwe, muzoba mubaye ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, mukwiye no guhanwa. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibigishe ibituma muroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi rero Imana Allah ikintu cose mukoze Irakizi, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":283,"translation":"Nimwaba muri ku rugendo mukabura umwanditsi, murahereza uwutanze ingurane ingwati agumana gushika arishwe ingurane yiwe. Nimwizerana, mukaguranana mutarinze kwandika, gutora ivyabona no gusaba ingwati, uwuhawe ingurane araheza rero yishure ingurane yizeweko, maze atinye Imana yiwe Rurema Allah ntahemuke. Niyihindukiza agahemuka naho, hakaba igihe baguranana hari ababona, muraheza mube ivyabona vy’ukuri ntihagire ico muzonyegeza. Uwuzonyegeza ico yabonye azoba ari nyenumutima wuzuye ivyaha, kandi rero Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":284,"translation":"Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Muramutse museruye ibiri ku mitima yanyu canke mukabihisha, Imana Allah Izobibaharurako, maze Ibabarire uwo Ishatse, Inahane uwo Ishatse[59]. Imana Allah ni Yo Mushoboravyose.","footnotes":"[59] Ku mpuhwe z’Imana Allah Yahavuye Ireka guhanira umuntu ico ahishije ku mutima wiwe, mu gihe ataragiserura mu majambo canke mu ngiro."},{"id":285,"translation":"Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”."},{"id":286,"translation":"Imana Allah ntitegeka umuntu ibirimwo amananiza, Imutegeka ivyoroshe ashoboye gushira mu ngiro bitewe n’impuhwe Imufitiye. Umwe wese rero azohemberwa ivyiza yarondeye, ahanirwe ibibi yarondeye. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhane mu gihe twibagiye gukora ibitegetswe, mu gihe dukoze ibibujijwe, canke mu gihe dukosheje bitewe no kutamenya. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhe itegeko ririmwo amananiza nk’uko Wategetse ab’aho hambere yacu ku kubahana. Mana yacu Rurema Allah! Ntuturemeke amabwirizwa tudashoboye gushira mu ngiro, duhanagurire ivyaha vyacu, tugumirize akabanga ku vyaha vyacu maze ntubiduhanire, Wongere Utugirire impuhwe n’ubugwaneza. Ni Wewe Umuhagarikizi n’Umutabazi wacu, dushoboze rero gutsinda abantu b’abagarariji."}]},{"id":3,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Yakumanuriye Igitabu ca Qor’ani vy’ukuri kitagiramwo amakenga, gishimangira ibiri mu Bitabu vyo hambere yaco, yaranamanuriye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Tawurati, Inamanurira n’Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Injili;"},{"id":4,"translation":"Imbere yuko Imanura Qor’ani, kugira ngo Irongore abantu mu nzira yayo, Iraheza rero Imanura Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma. Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyamanuwe n’Imana Allah, bategekanirijwe ibihano ruhasha, kandi rero Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Izokwihora bikwiye abagarariji ku musi w’izuka."},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’Imana Allah bukikije ibiremwa vyose, nta kintu na kimwe kw’isi canke mw’ijuru cinyegeje Imana Allah, n’aho coba akantu kanzunya."},{"id":6,"translation":"Ni Yo Yonyene Ibarema mu bitereko vy’abavyeyi banyu ukuntu Ishaka. Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko;"},{"id":8,"translation":"Bakavuga kandi batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntureke imitima yacu ngo ihube inyuma y’aho Uturongoreye mu nzira y’idini ryawe, duhe n’impuhwe zivuye iwawe, mu vy’ukuri Wewe Uri Bigaburo;"},{"id":9,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Uzokwegeranya abantu bose ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah ntirenga kw’isezerano Yahaye ibiremwa”."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije bivuye inyuma idini ry’ukuri, amatungo yabo n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo rero bazoba ivyegenyezo vy’umuriro."},{"id":11,"translation":"Inyifato yabo mu bugarariji, ni nk’inyifato y’abantu ba Firawuni n’abahakanye aho hambere yabo. Baragararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, gutyo Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo vyo kugarariza bakiri kw’isi. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwuyigararije agahakana n'Intumwa zayo."},{"id":12,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagararije n’abafashe minenegwe itsinda ryawe ku rugamba rwa Badri, uti: “Muzoneshwa aha kw’isi, muheze mushishikare guhakana gushika gupfa, hanyuma muzokwegeranirizwe mu muriro wa Jahannamu”. Ni na bwo busaswa bubi cane."},{"id":13,"translation":"Bayahudi mubwirwa ntimwumve! Mwari mufise icemezo gihambaye mu migwi ibiri yahanganye ku rugamba rwa Badri; umugwi w’abemeramana waharanira idini ry’Imana Allah, n’uwundi mugwi w’abahakanyi wabona abemeramana nk’aho bangana n’incuro zibiri z’igitigiri cawo, bituma abemeramana banesha abahakanyi. Imana Allah na Yo Itera intege mu guha intsinzi uwo Ishaka mu baja bayo. Mu vy’ukuri, muri iryo neshwa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu bihweza ibintu n’ibindi bakabona ukuri."},{"id":14,"translation":"Abantu muri kameremere kabo baremwe bakunda kuryoherwa n’ivy’isi mu bakenyezi n’ibibondo, ubwinshi bw’amatungo agizwe n’inzahabu n’umwakaka, ifarasi zirobanuye, ingamiya, ibitungwa mu ngamiya, mu nka no mu ntungwa, hamwe rero n’isi ndimwa y’akanovera. Ivyo vyose rero, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi buhera, burya rero ubuganuko bwiza ku Mana Allah, ni Ubwami bw’ijuru."},{"id":15,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega ndababwire ivyiza biruta ivyo abantu baremwe bakunda mu vy’isi! Abatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera, hariyo n’abakenyezi basukuye (barangwa n’ingeso nziza, batigera baja mu butinyanka), bazobamwo bishimiwe n’Imana Allah”. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera;"},{"id":16,"translation":"Barya bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, twaramaze kukwemera dukurikira n’Intumwa yawe Muhamadi, tugumirize rero akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, Wongere Udukingire ibihano vy’umuriro”;"},{"id":17,"translation":"Abihanganira kuguma bakora ivyiza bitegetswe bakiyubara gucumura, imvugakuri, abicisha bugufi ku Mana Allah, abatanga mw’ibanga no ku mugaragaro hamwe rero n’abatakamba basaba imbabazi mu bucagucagu."},{"id":18,"translation":"Imana Allah Yaramaze kugaragaza ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, abamalayika na bo baraheza baremanga ko ari Yo Mana y’ukuri, abahawe ubumenyi na bo baratura ku rurimi bemera ku mutima ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Ihagarikiye ubutungane ku biremwa vyose. Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":19,"translation":"Mu vy’ukuri, idini ryishimiwe n’Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose ku biremwa, ni ubwislamu[2]. Abahawe Igitabu ntibahazanye ngo bicemwo imigwi kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemezo co kurungikirwa Intumwa n’Ibitabu, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari, vyadutse hagati yabo mu kurondera ivy’isi. Uwo wese rero azogarariza Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, namenye ko Imana Allah Inyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.","footnotes":"[2] Ubwislamu ni ukwicisha bugufi ku Mana Allah mu kuyumvira mu ntumbero yo kwitonesha kuri Yo, wubahiriza kandi wemera Intumwa zose Yarungitse."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu nibaguhaririza ku vyerekeye ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, uraheza ubabwire uti: “Naramaze gutumbera no kwicisha bugufi ku Mana Imwe Rudende Allah, jewe n’abankurikiye mu bemeramana”. Uraheza ubwire kandi abahawe Igitabu n’ababangikanyamana uti: “Ubwo ntimwokwicisha bugufi mukaba abislamu!”. Baramutse rero babaye abislamu, ni ukuri bazoba bakurikiye inzira igororotse; nibagenza umugongo naho bakakwirengagiza, ni ukuri uzoba wamaze gukora ico ujejwe, wewe ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa, burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera."},{"id":21,"translation":"Mu vy’ukuri, abagarariza bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagatako bakica Abavugishwamana bayo ku karenganyo, bakanica abantu babwiriza abandi kubakurikira no kugendera ubutungane, abo rero ga Ntumwa y’Imana, uraheza ubashikirize inkuru y’incamugongo ko barindiriwe n’ibihano bibabaza,"},{"id":22,"translation":"Abo ni bo rero ibikorwa vyabo bizobabera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje kuruta abayahudi bagize amahirwe yo guhabwa Igitabu bakamenya ko ivyo wahishuriwe ari ukuri, maze bahamagarirwa kwubahiriza ibiri mu Gitabu c’Imana Qor’ani kugira ngo kibadadanure mu vyo bahazanako, hanyuma umugwi umwe muri bo ukagenza umugongo mu kwanka ingingo yayo wirengagiza ukuri!"},{"id":24,"translation":"Ukwirengagiza kwabo ukuri, kugaterwa n’uko bavuze bati: “Umuriro ntuzodukorako kiretse imisi imparurwa hanyuma tuwuvemwo”, iryo rementanya rikaba ari ryo rituma bubahuka guhonyanga amabwirizwa no gusuzugura idini ryayo."},{"id":25,"translation":"Mbega bizobagendera gute! Igihe Twebwe Allah Twabegeranije ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika, maze umwe wese mu bantu agatunganirizwa ku ndishi y’ivyo yarondeye, ntibazonarenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanya indishi."},{"id":26,"translation":"Muvugishwamana! Vuga usaba Imana yawe Rurema uti: “Mana yanje Nzima! Nyeninganji Rugaba w’ubwami bwose! Uha ubwami n’inganji uwo Ushatse, Ukabwambura uwo Ushatse; Uha icubahiro c’iteka kw’isi no mw’ijuru uwo Ushatse, Ugasuzuguza uwo Ushatse; mu minwe yawe hari ivyiza bisa, mu vy’ukuri ni Wewe Mushoboravyose[3],","footnotes":"[3] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise ukuboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."},{"id":27,"translation":"Biri mu vyerekana ubushobozi bwawe, ko Winjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ukinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Ugakura kizima mu capfuye [4], Ugakura icapfuye muri kizima [5], Ukaronsa ibiremwa ibibibeshaho Utarinze kubigerera”.","footnotes":"[4] Nka kurya urutete canke urubuto runaga rukavamwo igiharage canke igiti.\n[5] Nka kurya irigi riva mu nkoko, n’urubuto rukava mu giti."},{"id":28,"translation":"Abemeramana ntibakagire abahakanyi abagenzi somambike babahagararira bakabatabara birengagiza abemeramana. Uwuzobagira abagenzi somambike, azoba yitandukanije n’Imana Allah kiretse mu gihe mwobigira mwiyorobeka mu kwikingira ishari ryabo, kugira ngo mubanze mwisuganye. Kandi rero Imana Allah Irabihanije ku bihano vyayo nimuvyiyubare. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":29,"translation":"Muvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Nimwabagira abagenzi somambike mw’ibanga canke ku mugaragaro, Imana Allah Itegerezwa kubimenya, Irazi n’ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose”."},{"id":30,"translation":"Umusi rero umuntu wese yasanze indishi y’ivyo yakoze mu vyiza imurindiriye, agasanga n’ivyo yakoze mu bibi indishi yavyo imurindiriye, azokwipfuza ko hopfuma haba ikiringo kirekire hagati yiwe n’ingaruka mbi z’ibibi yakoze kugira ntabibazwe. Kandi rero Imana Allah Irabihanije ku bihano vyayo nimuvyiyubare. N’aho biri ukwo rero, Imana Allah ni Nyenikigongwe ku baja bayo."},{"id":31,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abemeramana uti: “Nimwaba mukunda vy’ukuri Imana Allah, nimunkurikire rero munyumvire, gutyo Imana Allah Iheze Ibakunde, Inabagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo [6]”.","footnotes":"[6] Iyi Aayah iratomoye mu kwerekana ko uwukunda Imana Allah ategerezwa kandi gukunda n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) akanayumvira vy’ukuri."},{"id":32,"translation":"Babwire uti: “Nimwumvire Imana Allah mu kugendera Qor’ani, munumvire Intumwa mu gukurikiza inyigisho n’imigenzo vyayo”. Nibagenza umugongo bakakwirengagiza, baramenya rero ko mu vy’ukuri Imana Allah Idakunda abagarariji."},{"id":33,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaratoye Adamu na Nuhu n’umuryango wa Ibrahimu n’uwa Amraani, Ibagira aberanda n’intore mu gihe cabo,"},{"id":34,"translation":"Iraheza Ibagira Intumwa n’Abavugishwamana mu rukurikirane rw’uruvyaro rwabo rweranda. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva ibivugwa n’abaja bayo, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bazirikana n’ivyo bakora, kandi Izobibahembera;"},{"id":35,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka ivyashikiye Isa na nyina wiwe Mariyamu hamwe na inakuru wiwe, ari we mukenyezi wa Amraani, igihe yasama imbanyi ya Mariyamu maze akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, ndiyemeje kukwegurira ico nibungenze (kizokwame gikorera ingoro yawe Bayti l-Maqdisi), ndakwinginze rero ukinyemerere, mu vy’ukuri ni Wewe Nyenukwumva igisabisho canje, Nyenubumenyikurivyose, Uzi umuzirikanyi wanje”."},{"id":36,"translation":"Nya mbanyi imaze kuvuka, umukenyezi wa Amraani yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri nibarutse umukobwa, ntashoboye gukorera ingoro yawe - Imana Allah na Yo Yari Izi neza ico yibarutse ko kizoba igitangaro - kandi rero umuhungu nipfuje kwibaruka si nk’umukobwa mu bubasha bwo gukorera ingoro yawe. Mu vy’ukuri, namwise Mariyamu, ni ukuri ndanamukuragije we n’uruvyaro rwiwe, Ubakingire inyoshambi za shetani yavumwe”."},{"id":37,"translation":"Kukaba nkako, Imana yiwe Rurema Allah Yaramwemereye igisabisho, Iramwakirira neza uwo yayeguriye Iraheza Iramubungabunga Imuha indero nziza, maze arerwa na Zakariya [7] aho yari asanzwe asengera. Igihe cose yaja kumuraba yahasanga imfungurwa ziteguye, agaca amubaza ati: “Mbega Mariya! Izi mfugurwa wazikuye hehe?”, na we akamwishura ati: “Ni izo nafunguriwe n’Imana Allah”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ironsa ibibeshaho uwo Ishaka mu biremwa vyayo Itarinze kumugerera.","footnotes":"[7] Umugabo wa nyinabo."},{"id":38,"translation":"Aho ni ho rero Zakariya yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa umwana mweranda ahezagiwe, mu vy’ukuri Wewe Uri Nyenukwumva, Urumva igisabisho c’uwugusaba”;"},{"id":39,"translation":"Abamalayika baca baramuhamagara akiri ha handi nyene asengera bamubwira bati: “Imana Allah Iraguhaye inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahaya, aheze ashimangire Jambo Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) arungitswe n’Imana Allah, kandi azoba inararibonye mu bumenyi n’ubwitonzi yubahwe, yongere abe intakoravyaha n’Umuvugishwamana mu beranda."},{"id":40,"translation":"Zakariya n’umunezero n’akantu, yaritangaje ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo mu busaza n’umukenyezi wanje akaba ari ingumba!”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ikora ivyo Ishaka mu bitangaro”."},{"id":41,"translation":"Zakariya yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yibungenze”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ikimenyetso uzobimenyerako ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu bidaturutse ku ndwara mu kiringo c’imisi itatu kiretse mu gukoresha ibimenyetso gusa, muri ico gihe rero uraninahaza wongere utazire cane Imana yawe Rurema Allah, wongere unasenge umugoroba n’igitondo."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Yaragutoye ngo uyiyegurire, Iranakweza ingeso mbi z’ubwoko bwose, Iranagutora Iguha icubahiro mu bakenyezi bose mu gihe cawe;"},{"id":43,"translation":"Ewe Mariyamu! Shishikara rero wicisha bugufi ku Mana yawe Rurema Allah, wongere wubame, ununame hamwe n’abunama mu gushima inema wahawe”."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru z’ibinyegejwe ibiremwa Tuguhishuriye, kuko muri ico gihe si ho wari uri igihe batata baharira ku wukwiye kurera Mariyamu, maze bagahitamwo kugira itombora mu guterera hasi ikaramu zabo kugira bamenye muri bo uwukwiye kumurera, gutyo Zakariya aba ari we atsindira kumurera."},{"id":45,"translation":"Muvugishwamana! Si n’aho wari uri igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Iraguha inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana azosamwa imbanyi kw’ijambo[8] rivuye kuri Yo. Amaze kuvuka rero akazokwitwa Masihi[9] Isa mwene Mariyamu, azokwubahwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Azoba ari no mu batonye ku Mana Allah ku musi w’izuka;","footnotes":"[8] Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yiswe Jambo kuko yibungenzwe ku bushobozi bw’ijambo rivuye ku Mana Allah.\n[9] Yasizwe imigisha."},{"id":46,"translation":"Akazonavugisha abantu akiri uruyoya, niyamara gukura yongere abararikire kwemera Imana Allah. Azoba ari no mu beranda."},{"id":47,"translation":"Mariyamu yaritangaje maze avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo kandi ata n’umuntu turubakana!”. Umumalayika araheza aramwishura ati: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Irema ico Ishatse, iyo Itegetse ikintu ko kiba Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene."},{"id":48,"translation":"Izonamwigisha kwandika, gutumbereza ukuri mu mvugo no mu ngiro, Yongere Imwigishe Tawurati yamanuriwe Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe rero n’Injili azomanurirwa n’Imana Allah."},{"id":49,"translation":"Izomugira n’Intumwa kuri Bene Israyeli, izobabwira iti: “Jewe mu vy’ukuri, narungitswe kuri mwebwe nibangikanije icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, na co kikaba ari uko nshoboye kubabumbira inyoni mu vyondo, hanyuma nkayihuhamwo igaca iba inyoni yigurukira ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanavura uwavutse ari impumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe[10], nsubize n’ubuzima uwapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanababwira ivyo mufungura n’ivyo muziganirije kazoza mu mazu yanyu. Mu vy’ukuri, muri ivyo bitangaro vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kuri mwebwe ko ndi Intumwa y’Imana nimwaba mwemera Imana Allah hamwe na Aayah n’ivyemezo vyayo;","footnotes":"[10] Ubukarabe, ni indwara ifata irihu, ikiganzira uduce dutandukanye tw'umubiri, maze utwo duce tukagira ibara ryera rivanze n'iritukura."},{"id":50,"translation":"Naje nshimangira kandi ivyamanuwe hambere yanje muri Tawurati, no kugira ngo ndabarekurire bimwe mu vyo mwabujijwe. Nkaba rero naje ndabazaniye icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah ku vyo ndababwira, ko ari ivy’ukuri, enda rero nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera muheze munyumvire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah."},{"id":51,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ndabararikira kwemera, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, enda rero nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge, iyi ni yo nzira igororotseˮ."},{"id":52,"translation":"Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) imaze kwumva ukwimonogoza mu bugarariji kwa Bene Israyeli, yaratereye ijwi hejuru ibwira abigishwa bayo iti: “Ni nde yomba hafi tugaharanira idini ry’Imana Allah!”. Abigishwa bayo barishuye bati: “Twebwe twarishinze guharanira idini ry’Imana Allah, twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, tukugize n’icabona ko twebwe turi abislamu twicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah;"},{"id":53,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Twaremeye ivyo Wamanuye mu Njili, turanakurikira Intumwa yawe Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), enda rero Uradushira hamwe n’abemanga ko Uri Imana Imwe Rudende n’uko Intumwa zawe zashikirije abo zarungitsweko ubutumwa bwaweˮ, abo na bo bakaba ari abarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bazobera ivyabona Intumwa z’Imana ko zashikanye ubutumwa ku bo zarungitsweko."},{"id":54,"translation":"Abagarariji muri Bene Israyeli barahemutse mu gutegura mu mpisho umugambi mubi wo kwica Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Imana Allah na Yo Irahinyura nya mugambi Iraheza Yambika ishusho ry’Intumwa Isa uwundi muntu bahavuye bafata baramwica baranamubamba ku musaraba, bibaza ko ari we Isa mwene Mariyamu. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura imigambi igayitse;"},{"id":55,"translation":"Igihe Imana Allah Ibwiriye Intumwa Isa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndagukura kw’isi Ndakurerure iwanje uri muzima utaragirirwa nabi namba, maze Ndagukize abakugararije, Nongere Mpe abakwemeye bakagukurikira[11] intsinzi yo kunesha abakugararije gushika ku musi w’iherezo ry’isi”. Hanyuma rero ga bantu! Ku musi wo guharurirwa mwese muzogaruka iwanje Jewe Allah, Nshoke Ndabacira urutunganye ku vyo mwahora muhazanako mu vyerekeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).","footnotes":"[11] Mu kwubaha no kwubahiriza idini ryawe, mu kwemanga ibiranga umuzo w’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mu kuyemera no kugendera amabwirizwa y’ubwislamu igihe yarungitswe ku bantu bose."},{"id":56,"translation":"Abagararije Intumwa Isa (mu bayahudi) hamwe n’abayihaye icubahiro ndenzarugero (mu banaswara), Nzoheza Ndabahe ibihano ruhasha, vyo kwicwa no kunyagwa amatungo n’ubutegetsi kw’isi, Nongere Ndabahe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":57,"translation":"Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, Imana Allah Izoheza Ibahe indishi z’ibikorwa vyabo zikwiye, burya kandi rero Imana Allah ntikunda na gato abirenganya mu kuyibangikanya no mu kuyigarariza."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ayo mateka Tukwiganira Twebwe Allah ku vyerekeye Intumwa Isa mwene Mariyamu, ari mu vyemezo bigaragaza ukuri kw’ubutumwa bwawe, bikagaragaza n’uko Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma, ari ukuri kuzira amakenga."},{"id":59,"translation":"Mu vy’ukuri, iremwa rya Isa mwene Mariyamu atagira se, ni nk’iremwa rya Adamu atagira se na nyina, Yamuremye mw’ivu hanyuma Imubwira Iti: “Ba umuntu”, aca aba umuntu muzima[12].","footnotes":"[12] Guha rero ubumana Isa mwene Mariyamu ku kuba yavutse atagira se, ni ikinyoma cambaye ubusa kuko na Adamu yaremwe atagira se na nyina, ariko hamwe n’ivyo, abantu bose ntibigeze bamufata ko ari imana, ahubwo bose bahurije ku kuba ari umuja n’ikiremwa c’Imana Allah."},{"id":60,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ukuri kutagiramwo amakenga ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ukuri kwagushikiriye kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Kubera ivyo rero, shishikara utsimbataye kuri ukwo kuri, ntukabe mu bagufiseko amakenga."},{"id":61,"translation":"Abazoguhaririza ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu inyuma yuko umaze kumenya ukuri ku bimwerekeye, urababwira uti: “Enda nimuze, turarike abana bacu n’abana banyu, abakenyezi bacu n’abakenyezi banyu, hamwe rero na twebwe na mwebwe nyene, maze dutumbere Imana Allah tuyisabe ko Yomanurira igihano n’ivumwe ryayo abanyakinyoma badahesha mu kurementaniriza ubumana Isa mwene Mariyamu”."},{"id":62,"translation":"Iyi nkuru Ndakwiganiye rero ga Ntumwa y’Imana Muhamadi! Ni ukuri ni yo mateka y’ukuri ku vyerekeye Isa. Nta n’iyindi mana rero ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah Yonyene. Mu vy’ukuri, ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa mu bwami bwayo, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":63,"translation":"Nibaramuka bagenje umugongo bakirengagiza kukwemera no kugukurikira, bazoba ari bo bononyi. Mu vy’ukuri Imana Allah Irazi neza ivyo bakora vyose, Izobibahembera."},{"id":64,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara, uti: “Enda nimuze dukurikire twebwe na mwe ijambo ritunganye ry’ukuri; ryuko tutokwiyegereza mu vyo dukora vyose tugasenga kiretse Imana Allah; tutonayibangikanya n’ikindi kintu na kimwe; tutonagira bamwe muri twebwe ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah”. Nibaramuka bagenjeje umugongo bakirengagiza, muraheza mubabwire muti: “Nimwemange rero mutubere ivyabona ko twebwe turi abislamu twicisha bugufi ku Mana Allah mu kuyisenga ari Imwe Rudende”."},{"id":65,"translation":"Emwe bahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara! Ni kuki umugwi wose muri mwebwe uharira ku vyerekeye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), wemeza ko yakurikira idini ryawo, kandi Tawurati n’Injili bitamanuwe kiretse inyuma yuko amaze guhwera! Mbega none ntimugira n’ubwo kurahura ngo mutahure ko muvuga ikinyoma!"},{"id":66,"translation":"Ehe mwebwe ng’aho murubahutse guhaririza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku vyo mufitiye ubumenyi mu Bitabu vyanyu! Ni kuki none muharira ku vyo mudafitiye ubumenyi mu vyerekeye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ko yoba yakurikira idini ry’ubuyahudi canke ry’ubunaswara! Burya Imana Allah Irazi ibintu vyose, nayo mwebwe nta na kimwe muzi."},{"id":67,"translation":"Burya Ibrahimu rero ntiyigeze akurikira idini ry’ubuyahudi canke ry’ubunaswara, ariko yasenga yemera Imana Imwe Rudende Allah, yari umwislamu yicisha bugufi kuri Yo, eka ntiyari mu babangikanyamana."},{"id":68,"translation":"Mu vy’ukuri, abakwiye kwiyitirira Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ni abemeye ubutumwa bwiwe bakanakurikira idini ryiwe, hamwe rero n’iyi Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’abayemeye bakayikurikira, burya kandi rero Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’abemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":69,"translation":"Bislamu! Mu bahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara, harimwo umugwi wipfuza cane ko wobahubisha ukabakura mw’idini ryanyu ry’ubwislamu, nta n’uwo uzohubisha kiretse ukwihubisha wo nyene hamwe n’abawukurikira utabizi."},{"id":70,"translation":"Emwe bahawe Ibitabu vya Tawurati n’Injili! Ni kuki muhakana mwivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Yamanuriye Intumwa zayo mu Bitabu vyanyu, vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari yo Ntumwa yimirije kuza, n’uko ivyo ibashikirije ari kwo kuri, kandi na mwe nyene muri ivyabona kuri ukwo kuri ariko rero mukurengako mukuzi mukaguhakana."},{"id":71,"translation":"Emwe bahawe Ibitabu vya Tawurati n’Injili! Ni kuki muvangatiranya ukuri kuri mu Bitabu mwahawe n’ikinyoma mwirementaniriza, mugaheza mukanyegeza ukuri ku biranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) no ku vyerekeye idini ryiwe ko ari ryo ry’ukuri kandi ivyo mubizi!"},{"id":72,"translation":"Umugwi w’abahawe Igitabu mu bayahudi wavuze uti: “Nimwemere mu gitondo ivyamanuriwe abemeye mu bislamu, hanyuma mubigararize bugorovye; hari n’aho bogira amakenga mw’idini ryabo bakavavanura na ryo;"},{"id":73,"translation":"Kandi ntimuzokwemere vy’ukuri kiretse uwukurikiye idini ry’ubuyahudiˮ. Ntumwa y’Imana! Babwire ko mu vy’ukuri uburongozi n’ubugororotsi bw’ukwemera nya kwemera bituruka ku Mana Allah. Baranavuze bati: “Ntimuhirahire ngo muserurire ubumenyi mufise n’umwe mu bislamu ngo bamenye nk’ivyo mwahawe mu Gitabu, gutyo babasumvye ubutore, canke baronke ikibagiriza ku Mana yanyu Rurema Allah”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ingabirano z’ibintu vyose zituruka ku Mana Allah, Izihereza uwo Ishatse”. Burya rero Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere ku biremwa vyayo, Nyenubumenyikurivyose;"},{"id":74,"translation":"Igenera ku mpuhwe zayo ubutumwa n’ubugororotsi uwo Ishatse mu biremwa, burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye."},{"id":75,"translation":"Burya mu bayahudi bahawe Igitabu, harimwo uwo uramutse umwizeye ukamubitsa amatungo menshi ayagusubiza adahemutse; harimwo rero n’uwo ugize ngo uramwizeye ukamubitsa idinari rimwe ahemuka, ntarigusubize kiretse igihe umwishuje n’agahato. Ivyo biterwa n’uko bihagira amatungo y’abandi bakavuga bati: “Nta caha kuri twebwe kiri mu kwihereza amatungo y’abatazi gusoma no kwandika”, bakanavuga babeshera Imana Allah ko Yabarekuriye kwihereza nya matungo kandi bazi ko babesha."},{"id":76,"translation":"Si nk’ukwo rero bavyiyumvira! Ahubwo uwutinya akagamburukira Imana Allah, ni uwubahiriza isezerano ry’Imana Allah mu gusubiza imbitso, akemera vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo akanubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, kuko mu vy’ukuri Imana Allah Irakunda abagamburukiramana bavavanura n’ibangikanyamana hamwe n’ibindi vyaha."},{"id":77,"translation":"Mu vy’ukuri, abafata isezerano ry’Imana Allah n’ivyo Imana Allah Yaraze Intumwa zayo mu Bitabu Yazimanuriye, bakabiguza ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, abo ni bo rero ata co bazoronka mu ndishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere Imana Allah ntizonabavugisha mu bihumuriza, ntizonabaraba n’ijisho ry’impuhwe ku musi w’izuka, ntizonabeza ivyaha vyabo, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":78,"translation":"Mu vy’ukuri mu bayahudi, ni ukuri harimwo umugwi uhindagura amajambo uko atari mu Gitabu bahawe, kugira mwiyumvire ko nya majambo ari mu Gitabu ca Tawurati, kandi ata yari muri Tawurati, bagaheza bakanavuga bati: “Aya majambo ava ku Mana Allah, Yayahishuriye Intumwa yayo Musa”, kandi nya majambo atava ku Mana Allah, bagaheza rero bakabeshera Imana Allah kandi bazi ko bariko barabesha."},{"id":79,"translation":"Ntivyari gushika ko umuntu n’umwe mu bantu yotumwa n’Imana Allah, Ikamuha Igitabu n’amabwirizwa yo gutunganiriza ibiremwa, hanyuma agahindukira akabwira abantu yarungitsweko ati: “Nimube abaja banje maze munsenge mu gishingo c’Imana Allah”, mugabo araheza akababwira ati: “Nimube intore mu bamenyi ku vyo mwahora mwigisha abandi mu majambo y’Imana Allah, no ku vyo mwiga mukamenya rero muri yo”;"},{"id":80,"translation":"Kandi nta n’umwe muri bo yobategeka ko mugira ibigirwamana musenga mu bamalayika no mu Ntumwa. Bantu! Vyoshoboka gute ko abategeka kugarariza Imana Allah inyuma yuko mwamaze kwicisha bugufi kuri Yo mukaba abislamu!"},{"id":81,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana Allah Yaha isezerano Abavugishwamana bose Iti: “Ninabaha Igitabu n’ubutore bwo gushika ku kuri mu mvugo n’ingiro, hanyuma Nkabarungikira Intumwa ishimangira ukuri musanganywe, ko mutegerezwa kuyemera no kuyitabara”, maze Imana Allah Ikababaza bose Iti: “None iryo sezerano, mwaryemeye muremanga kuryubahiriza?”. Barishuye bati: “Ego cane! Twemanze kuryubahiriza”. Imana Allah Ica Ivuga Iti: “Nimwibere rero ivyabona ku vyo dusezeranye, mubere n’ivyabona abantu banyu kuri iryo sezerano, nanje Ndi kumwe na mwe mu vyabona bizobagiriza mwese[13]”.","footnotes":"[13] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Yahaye isezerano Abavugishwamana n’Intumwa zose, hamwe rero n’abantu zarungitsweko, ko bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":82,"translation":"Abazogenza umugongo rero bakirengagiza ubutumwa bw’ubwislamu inyuma y’aho bashikiriwe n’iri sezerano Imana Allah Yahaye Abavugishwamana n’Intumwa zayo, abo rero ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah;"},{"id":83,"translation":"Mbega none! Ivyo bigaba bishaka gukurikira idini ritari iry’Imana Allah ry’ubwislamu[14], kandi ibiremwa vyo mu majuru no mw’isi vyicisha bugufi kuri Yo, ku bushake mu gihe c’igamburuka ry’abemeramana muri vyo; bikicisha bugufi vyanka vyakunda no mu gihe ibigarariza muri vyo bishikiwe n’ivyago! Kukaba nkako rero, n’ibindi biremwa vyose biricisha bugufi kuri Yo, ni no kuri Yo bizosubizwa bimaze guhwera kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.","footnotes":"[14] Ari na ryo dini ryarungikanwe Intumwa zose, rigashimangirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":84,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Twaremeye Imana Allah, nta n’iyindi mana twemera atari Yo, twaranemeye ivyo Yaduhishuriye n’ivyo Yahishuriye Ibrahimu, abahungu biwe Ismayili na Is-haqa, umwuzukuru wiwe Yakubu mwene Is-haka, Intumwa zikomoka kuri Yakubu zarungitswe mu moko cumi n’abiri ya Bene Israyeli, ivyahawe Intumwa Musa na Isa muri Tawurati no mu Njili, hamwe rero n’ivyamanuriwe abandi Bavugishwamana, abo bose turabemera tutavanguye n’umwe muri bo, kandi rero twebwe turi abislamu twicisha bugufi ku Mana Allah”."},{"id":85,"translation":"Uwurondera kwubahiriza idini ritari iry’ubwislamu [15] ntazoryakirirwa namba, kandi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa azoba mu bahomvye ubuzima bwabo bwose.","footnotes":"[15] Raba insiguro y’ubwislamu mu nsiguro ya Aayah ya 19 muri iki gisomwa."},{"id":86,"translation":"Ni gute Imana Allah Yorongora abantu bagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) inyuma y’aho bamwemeye bakanemeza ata guhigimanga ko ubutumwa bwayo ari ubw’ukuri, bakanashikirwa n’ivyemezo vyerekana ko ivyo ari kwo kuri! Burya Imana Allah ntirongora abantu birenganya mu kugarariza ukuri bagahitamwo ikinyoma;"},{"id":87,"translation":"Abo ni bo rero, indishi yabo ari ivumwe rivuye ku Mana Allah, ivumwe ry’abamalayika n’iry’abantu bose;"},{"id":88,"translation":"Bazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze;"},{"id":89,"translation":"Kiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya bikwiye inyuma yo kugarariza, bagaheza bakanatunganya ivyo bononye ku kwigaya, abo rero mu vy’ukuri Imana Allah Izobakirira ukwigaya kwabo, ni Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":90,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije inyuma y’ukwemera kwabo bakanatsimbatara ku bugarariji gushika guhwera, ntibazokwakirirwa ukwigaya kwabo bari ku mpfiro, abo ni na bo rero bahuvye inzira y’Imana Allah."},{"id":91,"translation":"Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagapfa bakigarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, ku musi w’izuka nta n’umwe muri bo azokwemererwa gutanga inzahabu zuzuye isi yose kugira yigombore mu bihano vy’Imana Allah, n’aho yoba ashoboye koko kuzitanga mu kwigombora, abo ni bo rero bategekanirijwe ibihano bibabaza cane, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":92,"translation":"Ntimuzoronka Ubwami bw’ijuru mutabanje gutanga imperezwa mu vyo mukunda, kanatsinda ikintu ico ari co cose muzotanga mu mperezwa uko kingana kwose, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izohembera umwe wese ku co yatanze."},{"id":93,"translation":"Imfungurwa zose nziza, zari zirekuwe gufungurwa kuri Bene Israyeli (abana ba Yakubu nyakugira amahoro y’Imana Allah), kiretse izo Yakubu wenyene ubwiwe yaziririje gufungura ku gatwe kiwe, ku mvo z’indwara yarwaye imbere yuko Tawurati imanurwa n’Imana Allah. Tawurati imaze kumanurwa, Imana Allah Yashotse Iziririza zimwe mu mfungurwa Bene Israyeli bari barekuriwe gufungura kubera ukwirenganya kwabo. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nimuzane rero Tawurati maze musome ibirimwo, nimwaba muri imvugakuri ko harimwo iziririzwa ry’ivyo Yakubu yaziririje gufungura ku gatwe kiwe”."},{"id":94,"translation":"Ni ukwo rero, uwo wese azorementaniriza Imana Allah inyuma yo gusoma Tawurati, ukuri kukagaragara ko Imana Allah ata co Yigeze Iziririza mu mfungurwa imbere yo kuyimanura, uyo rero ni we azoba ari mu birenganije mu kurementaniriza Imana Allah."},{"id":95,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Imana Allah Yavuze ukuri mu ngingo Yashinze”. Kubera ivyo rero, nimwaba mukomoka koko kuri Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), nimukurikire rero idini ryiwe ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa; ari na ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ntiyari no mu babangikanyamana."},{"id":96,"translation":"Mu vy’ukuri, ingoro ya mbere yubatswe kw’isi kugira abantu bayisengeremwo Imana Allah, ni ukuri ni ingoro ntagatifu iri i Makka. Iyo ngoro, irahezagiwe n’imigisha myinshi; kuyitumbera mu gusenga, kuyishengerera no kuyigendera, harimwo n’uburongozi ku bantu bose."},{"id":97,"translation":"Muri iyo ngoro, harimwo kandi n’ibimenyetso bigaragara vyerekana ko yubatswe na Ibrahimu, n’uko ari ahantu hubashwe hahezagiwe. Muri ivyo bimenyetso, ni nk’ubuhagararo [16] bwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Uwinjiye muri iyo ngoro, aba atekaniwe nta n’umwe arekuriwe kumuhungabanya. Imana Allah Yarategetse rero ko umwislamu uwo ari we wese afise ubushobozi, aja kuyishengerera. Mu vy’ukuri, uwuhakanye ibwirizwa ryo gushengerera iyo ngoro aba agararije, kira noneho Imana Allah Irikenuye, nta co Ikeneye ku biremwa.","footnotes":"[16] Ubuhagararo bwa Ibrahimu, ni ibuye Ibrahimu yahagarayeko mu kuduza iyo nyubakwa, ari kumwe n’umuhungu wiwe Ismayili. Iryo buye rero, n’ubu ririho."},{"id":98,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Emwe bahawe Igitabu! Ni kuki mugarariza mu guhakana ivyemezo biturutse ku Mana Allah, vyemeza ko idini ry’Imana Allah ari ubwislamu, mugahakana mwivuye inyuma n’ivyemezo biri mu Bitabu vyanyu vyemeza ukwo kuri kandi mubizi!”, burya Imana Allah ni Icabona ku vyo mukora."},{"id":99,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abayahudi n’abanaswara uti: “Ni kuki muburagiza uwushatse kwinjira mu bwislamu mugashaka kumuhubisha, kandi na mwe muzi neza ko idini ry’ubwislamu ari iry’ukuri!”. Burya Imana Allah ntiyirengagiza namba ivyo mukora, Izobibahembera."},{"id":100,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwaramuka mwumviye umugwi w’abahawe Igitabu, bazobahubisha mu kubatera amakenga mw’idini ryanyu kugira murite, inyuma y’aho mwari abemeramana;"},{"id":101,"translation":"Bemeramana! Ni gute mwogarariza Imana Allah mu gihe musomerwa Aayah za Qor’ani, kandi n’Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ikaba iri kumwe na mwe! Uwo wese azokwishimikiza Imana Allah, maze akagumya ata guhesha Igitabu cayo Qor’ani, akanagendera inyigisho n’imigenzo vy’intumwa, ni ukuri azoba yashobojwe gutumbera inzira igororotse igana ku Mana Allah."},{"id":102,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah ukuri kwo kuyitinya mu kuyigamburukira mu vyo mukora; muyumvire ata kugabitanya, muyishimire ata kwihakana inema zayo, muyininahaze ata kugotwa, maze mutsimbatare kw’idini ryanyu gushika gupfa."},{"id":103,"translation":"Muraheza rero mugumye mwese ata guhesha Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani hamwe n’inyigisho n’imigenzo vy’intumwa, ntimuzohirahire ngo mugire icotuma mucanamwo. Muraheza mwibuke kandi inema y’Imana Allah Yabahundagajeko, igihe mwari abansi bankana urunuka muhigana buhongo, maze Imana Allah Ihuriza imitima yanyu ku kuyikunda no gukunda Intumwa yayo, Inashira urukundo mu mitima yanyu, mushoka muba abavandimwe barangwa n’urukundo bitewe n’ingabirano yayo. Ico gihe mwahakwa kugwa mu muriro wa Jahannamu, Imana Allah Iraheza Iwubarokoramwo, Ibarongora mu bwislamu. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ibiranga ukwemera nya kwemera - Ibatomorera ivyotuma mubaho mu mahirwe, kugira murongoke mu nzira yayo."},{"id":104,"translation":"Bemeramana! Muri mwebwe rero, nihabe umugwi urarikira abandi gukora ineza, ubwiriza gukora ivyiza vy’ubwoko bwose ukanabuza gukora ibibi vy’ubwoko bwose. Abo ni na bo rero bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":105,"translation":"Bemeramana! Ntimukabe rero nk’abahawe Igitabu biciyemwo imigwimigwi kubera urwanko n’inzigo, bituma bacanamwo ku vyerekeye ishingiro ry’idini ryabo inyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bagatomokerwa ukuri. Abo ni na bo rero bakwiye ibihano ruhasha;"},{"id":106,"translation":"Ku musi w’izuka. Umusi abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bazosayangana mu maso buzuye akamwemwe ku kandi; abayigararije bakiyamiriza n’Intumwa yayo na bo bakazokwijirirwa mu maso, bishwe n’amagorwa. Abazokwijirirwa mu maso rero, bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntu ! Mwagararije inyuma y’ukwemera kwanyu, muraheza mwigura ubugarariji! Nimuhonje rero ibihano bitewe n’ukuntu mwahora mugarariza”."},{"id":107,"translation":"Nayo abazosayangana mu maso buzuye akamwemwe ku kandi, bazoja mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, bobo rero bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":108,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ivyo rero, ni Aayah n’ivyemezo bigaragara vy’Imana Allah vy’ukuri Tugusomera Twebwe Allah. Burya rero, Imana Allah ntiyigera Irenganya na gato n’umwe mu biremwa vyayo, mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi."},{"id":109,"translation":"Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":110,"translation":"Bantu mwakurikiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)! Ni mwebwe abeza b’abantu, mukaba na ba kirumara ku bantu; mubwiriza gukora ivyiza vy’ubwoko bwose mukabuza no gukora ibibi vy’ubwoko bwose, mukanemera Imana Allah ukwemera kubonekera mu bikorwa. Iyo rero abahawe Igitabu bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemera na Qor’ani; nk’uko mwemeye, ni ukuri vyari kuba vyiza cane kuri bo mu buzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa. Muri bo, harimwo bake bemera ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarungikanwe bakabwubahiriza; hakabamwo rero n’abandi benshi b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":111,"translation":"Noneho rero nta co bazobicira kiretse kubageramira mu kuvuga amajambo y’ibangikanyamana n’igarariza. Nibaramuka babarwanije naho, bazoneshwa bate bomoke, hanyuma ntibazotabarwa ngo babatsinde."},{"id":112,"translation":"Abayahudi, Imana Allah Yaramaze kubahomera n’agasuzuguro aho hose bazoba bari, kiretse kw’isezerano bahawe n’Imana Allah n’iryo bahawe n’abantu, kugira ngo umutekano wabo hamwe n’ivyabo bikingirwe[17]. Barakwiye rero ishavu ry’Imana Allah, baranahomewe n’agasuzuguro ko gutinya abemeramana. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bahora bagarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku karenganyo, ivyo bakaba babitewe n’ibicumuro bakora, bari n’abantu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.","footnotes":"[17] Mu gihe boreka kugeramira no kuburagiza ubwislamu n’abislamu. Iryo sezerano ryitwa “AQDU DHIMMAH”."},{"id":113,"translation":"Burya abahawe Igitabu ntibanganya ukwemera; muri bo harimwo umugwi w’abagororotsi bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakarara barasoma Aayah za Qor’ani mu gicugu banubamira Imana Allah mu gusenga;"},{"id":114,"translation":"Bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka, bakabwiriza no gukora ivyiza vy’ubwoko bwose bakanabuza gukora ibibi vy’ubwoko bwose, bakanahurumbira gukora ivyiza. Abo ni na bo rero bari mu beranda;"},{"id":115,"translation":"Ico ari co cose rero bagize mu vyiza uko kingana kwose, ntibazokirenganywako, kizoshimwa maze bagihemberwe. Burya Imana Allah Irazi neza ibikorwa n’abagamburukiramana."},{"id":116,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, amatungo yabo hamwe n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi, canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":117,"translation":"Akarorero k’ivyo abagarariji batanga mu vyiza bazeyeko indishi ku Mana Allah mu buzima bwo kw’isi, ni nk’igihuhusi kirimwo igikonyozi, maze nya gihuhusi kigahitana ibiterwa vy’abantu baziga kuzosarura, maze ku kubera ivyaha bakoze, nya gihuhusi kigahonya vya biterwa vyose. Abagarariji rero, nta ndishi bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kira noneho, Imana Allah ntizoba Ibarenganije namba, ahubwo ni bo birenganije mu kugarariza no kugabitanya ku Mana Allah."},{"id":118,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abagarariji ba somambike babahagarikira mu vyanyu, mwirengagije abemeramana muri mwebwe. Ntibahesha mu kubipfuriza inabi; baranahimbarwa n’uko mushikiwe n’ivyago. Ni ukuri urwanko babafitiye rwaramaze kugaragazwa n’amajambo bavuga, nayo akanyegejwe mu mishaha yabo mu rwanko babafitiye, karahinda. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze kubatomorera ivyemezo vyotuma mubiyubara nimwaba mutegera mugatahura amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":119,"translation":"Bemeramana! Ehe mwebwe ico mwihendako, ni uko mubakunda mukabagirira ubugwaneza kandi na bo batigera babakunda na gato; mukemera Ibitabu vyose vyamanuwe harimwo n’Igitabu cabo, mu gihe bo batemera Igitabu canyu Qor’ani. Ni gute none mwobakunda! No mu gihe bahuye na mwe barabiyorobekako bakababwira bati: “Twaremeye!” ; biherera naho, bakicwa n’intuntu n’akantu babahigira kw’ishavu n’ishari babafitiye. Ntumwa y’Imana ! Babwire uti: “Nimwicwe rero n’ishavu!”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza ibiri mu mishaha, Izohemba umwe wese ku co yakoze; caba iciza canke ikibi."},{"id":120,"translation":"Bemeramana! Mu vyerekana urwanko babafitiye, ni uko iyo mushikiwe n’iciza; nk’intsinzi ku rugamba canke kuronka iminyago, bibatera ishavu n’agahinda. Iyo naho mushikiwe n’ikiza[18], birabahimbara. Nimwihanganira rero ibiza bibashikira, mugaheza mukagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kubarwanya kwabo ku rwenge nta na kimwe kuzobicira. Mu vy’ukuri, Imana Allah mu bumenyi bwayo, Irakikuje ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera.","footnotes":"[18] Nko kuneshwa ku rugamba, gukehanirwa n’amatungo canke umwimbu canke kubura abanyu."},{"id":121,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe wasohoka mu bawe witeguriye guhangana n’ababangikanyamana ku rugamba rwa Uhudi, utondeka neza ingendanyi zawe, umwe wese mu kibanza akwiye. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga ; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo mukora;"},{"id":122,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka n’ivyashikiye Bene Salima na Bene Haaritha, igihe batekerwa n’ubwoba bagashaka guhunga urugamba bari kumwe n’indyarya karuhariwe Abdullahi mwene Ubayyi, batinya guhangana n’umwansi, ariko Imana Allah Umuhagarikizi wabo Yarakinze baraheza bararinda baja ku rugamba bizeye Imana Allah. Kubera ivyo rero, abemeramana nyabuna nibishimikize gusa Imana Allah bayizere."},{"id":123,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Yarabahaye intsinzi ku rugamba rwa Badri, muraheza muranesha abansi banyu kandi mwari bake, mufise n’ibirwanisho bibayabaye, enda rero nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira mushime inema zayo."},{"id":124,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka n’igihe ingendanyi zawe zabangamirwa n’irungikwa ry’ingabo zije gutabara ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri, maze Tukaguhishurira ko wozibwira uti: “Ntibibakwiye ko Imana yanyu Rurema Allah Ibarungikira ingabo zigera ku bihumbi bitatu vy’abamalayika, bamanutse bava mw’ijuru bagana ku rugamba, kugira babatere inkunga banabatsimbataze ku rugamba!”."},{"id":125,"translation":"Ego cane, ico gitigiri kirabakwiye! Nimwaramuka mwihanganye ku rugamba rero, mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze ababangikanyamana bakaza banyaragasa kubarwanya bibwira ko babanesha, muri ico gihe Imana Allah Izoca Ibarungikira ingabo zigera ku bihumbi bitanu vy’abamalayika, bafise n’ibimenyetso bibaranga, bo hamwe n’ifarasi zabo."},{"id":126,"translation":"Iryo rungikwa ry’ingabo z’abamalayika, Imana Allah ntiyarigize atari ukugira ngo Ibahe agakuru keza k’intsinzi, no kugira rero imitima yanyu iturure. Burya nta ntsinzi iboneka kiretse iyivuye ku Mana Allah, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":127,"translation":"Intsinzi mwaronse ku rugamba rwa Badri, yabonetse kugira Imana Allah Ihonye umugwi mu bagararije wicwe, canke Yicishe intuntu yo kuneshwa abarokotse muri bo, baheze basubire inyuma bamaramaye, bijiriwe."},{"id":128,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nta co ubazwa ku vyerekeye ihanwa canke ibabarirwa ry’ibiremwa, ivyabo vyose bijejwe Imana Allah, hari n’aho abakurwanya bokwinjira mu bwislamu, maze Imana Allah Ikabababarira, canke bakabandanya bagarariza, Imana Allah Igaheza Ikabahana ku kwirenganya kwabo."},{"id":129,"translation":"Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Igumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, maze Ikamubabarira; Igahana uwo Ishatse ku butungane bwayo ata we Irenganije. Burya rero Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":130,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarye ku ngurane inyungu izira yiyongereye kuri nya ngurane, n’aho yoba ari nto, nkenswe rero mu gihe igwijwe incuro nyinshi uko ingurane iteba kwishurwa. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":131,"translation":"Muheze kandi mwikingire umuriro wagenewe abagarariji;"},{"id":132,"translation":"Maze mwumvire Imana Allah mu kutarya inyungu izira no mu kwubahiriza ayandi mabwirizwa, mwumvire n’Intumwa yayo kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah."},{"id":133,"translation":"Bemeramana! Murahurumbira kwumvira Imana yanyu Rurema Allah n’Intumwa yayo, kugira mugumirizwe akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe, muheze muronswe n’Ubwami bw’ijuru, ubwaguke bwabwo bungana n’amajuru n’isi; bwategekanirijwe abagamburukiramana;"},{"id":134,"translation":"Barya batanga amatungo yabo mu mahirwe no mu marushwa, abatsinda ishavu bakihangana, hamwe rero n’abagirira ikigongwe abandi mu gihe bashoboye kwihora, ubwo ni bwo bugwaneza nya bugwaneza, burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza;"},{"id":135,"translation":"Na barya iyo bagize icaha rutura canke bakirenganya mu gukora ivyaha bitobito, bashoka bibuka isezerano ry’Imana Allah bagaca basaba imbabazi ku vyaha vyabo, bizeye ko ata wubabarira ivyaha atari Yo, ntibanatsimbatara ku vyaha bagize kuko bazi ko baramutse bagarutse ku Mana Allah bakigaya Ibababarira;"},{"id":136,"translation":"Abo ni bo rero, bagenewe n’Imana yabo Rurema Allah indishi yo kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, hamwe rero n’imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera. Iyo ni yo ndishi nziza rero ibereye abumviramana."},{"id":137,"translation":"Bemeramana! Aho hambere yanyu, harabaye imigwi y’abantu, abemera muri bo barageragejwe mu kuneshwa igihe bahanganye n’abagarariji, ariko impera n’imperuka bakabatsinda. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi mwibuka ivyo, maze mwirabire ivyashikiye abahakanye Imana Allah n’Intumwa zayo [19].","footnotes":"[19] Muri iyi Aayah Imana Allah Irahoza abemeramana ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, ko batocika intege kuko impera n’imperuka ni bo benintsinzi."},{"id":138,"translation":"Iyi Qor’ani, ni impanuro ku bantu bose bashaka kurongoka, ikaba n’uburongozi n’urwibutso ku bagamburukiramana."},{"id":139,"translation":"Bemeramana! Ntimugacike intege mu kurwanya umwansi wanyu, kandi ntimukicwe n’intuntu ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, kanatsinda ni mwebwe benintsinzi nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, munubahiriza n’amabwirizwa yayo;"},{"id":140,"translation":"Nihaba muri mwebwe harimwo abakomeretse canke abishwe ku rugamba rwa Uhudi, ni ukuri ni nk’uko nyene, no mu babangikanyamana harimwo abakomeretse n’abishwe. Burya imisi Twebwe Allah Dukurakuranya hagati y’abantu irasa ntingana; haba umusi wo gutsinda hakaba n’umusi wo gutsindwa, kugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi abemera vy’ukuri, Yongere Yiharire abayipfira muri mwebwe. Burya rero Imana Allah ntikunda namba abirenganya mu kureka guharanira idini ryayo;"},{"id":141,"translation":"Ukuneshwa rero ku rugamba rwa Uhudi, kwari ukugira Imana Allah Irobanure abemeye vy’ukuri, Iheze Inagaragaze indyarya muri bo, Yongere kandi Ihonye abagarariji."},{"id":142,"translation":"Ngendanyi z’Intumwa! Mbega mwibaza ko mwokwinjira mu Bwami bw’ijuru, mu gihe Imana Allah Itabanje kubagerageza kugira Yerekane ku vyo Isanzwe Izi, abaharanira idini ryayo vy’ukuri n’abihanganira guhangana n’abansi!"},{"id":143,"translation":"Bemeramana! Urugamba rwa Uhudi rutaraba, mwari mushashaye guhangana n’umwansi, kugira mupfire Imana Allah nk’abavandimwe banyu bayipfiriye ku rugamba rwa Badri, ng’urwo nya rugamba rero rwamaze gushika, nimwihangane mururwane urupfu mururaba n’amaso yanyu."},{"id":144,"translation":"Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) si ikindi kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe aho hambere yiwe. Mbega none mu gihe vyoshika agahwera canke akicwa, mwoca muvavanura n’idini ryanyu mukarivamwo! Uwuzokwisubirako akarivamwo, nta co azoba yiciye Imana Allah; nayo abazorigumamwo bagashimira Imana Allah ku nema y’ubwislamu, Imana Allah Izoheza Ibibahembere."},{"id":145,"translation":"Nta kiremwa na kimwe gifise ubuzima gishobora gupfa kiretse mu gihe ikiringo cagenewe kubaho giheze, maze kigapfa ku burenganzira bw’Imana Allah, burya Imana Allah Yaramaze kwandika isango ry’urupfu rwaco, ntikizopfa iryo sango ritaragera canke ngo kirisimbe. Uwo wese rero azogira ico akoze arondera ibisharizo vy’ubuzima bwo kw’isi, Tuzobimuha nk’uko Twabigeze; nayo uwuzogira ico akoze arondera indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Tuzimuhe hiyongeyeko ibimubeshaho kw’isi mu vyo Twamugeneye. Burya Twebwe Allah Tuzohemba abashima bakatwumvira mu guharanira idini."},{"id":146,"translation":"Hari n’Abavugishwamana benshi b’aho hambere barwaniye Imana Allah bari kumwe n’imigwi y’abigishwa babo, ntibigeze bacika intege ku vyabashikiye bagakomereka canke bakicwa, kandi ntibigeze bananirwa canke ngo bishikane ku mwansi, burya Imana Allah Irakunda abihangana;"},{"id":147,"translation":"Nta n’ico bavuga bari mu bihe bitoroshe kiretse ukwiyambaza Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Tubabarire ivyaha vyacu hamwe n’ibicumuro twakoze mw’idini tutabizi, Wongere Utsimbataze ibirenge vyacu ntiduhunge umwansi ku rugamba, Unadushoboze gutsinda abantu b’abagarariji bahakana isengwa ryawe n’ubutumwa bw’Intumwa zawe”."},{"id":148,"translation":"Ni ho rero Imana Allah Yaha abo bihanganye bakiri kw’isi, indishi yabo yo gutsinda umwansi no gutsimbatara kw’isi, Ikazobaha n’indishi ishemeye y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza mu kwitonesha kuri Yo no mu kibano."},{"id":149,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvira abagararije mu vyo babategeka no mu vyo bababuza, bazobahubisha inzira y’ukuri, maze muvavanure n’idini ryanyu murivemwo, muheze mutahire agahombo no guhona."},{"id":150,"translation":"Kira noneho, ntibazobatabara, ahubwo rero Imana Allah ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Mwiza w’abatabazi bose."},{"id":151,"translation":"Twebwe Allah Tuzotera ubwoba mu mitima y’abagararije bitewe n’ukuntu babangikanije Imana Allah n’ibigirwamana, mu gihe Imana Allah Itigeze Imanura icemezo c’uko bikwiye kubangikanywa na Yo, bazobaho rero kw’isi batekewe n’ubwoba bwo gutinya abemeramana. Ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro, ni na ryo cumbi ribi cane ry’abirenganije mu bugarariji."},{"id":152,"translation":"Ngendanyi z’Intumwa! Ni ukuri, Imana Allah Yarabashiriye mu ngiro isezerano Yabahaye ry’intsinzi, igihe mwica abagarariji ku rugamba rwa Uhudi ku burenganzira bwayo. Aho rero mucikiye intege mugacanamwo ku vyerekeye iyubahirizwa y’ingingo yuko ingabo zirasa imyampi zoguma mu bibanza vyazo, canke zoja kwegeranya iminyago hamwe n’abandi, gutyo muba murenze kw’itegeko ry’Intumwa yanyu ryo kuguma mu bibanza vyanyu uko vyoba kwose. Ivyo bikaba vyaratumye muneshwa inyuma y’aho Imana Allah Yari Imaze kubereka intsinzi mukunda, aho bikaba vyarabonetse ko muri mwebwe harimwo abashaka iminyago, n’uko harimwo abashaka indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ho rero mu nyuma yo kuneshwa, Imana Allah Yabakebanura Ikabakurako umwansi kugira Ibagerageze, ni ukuri Imana Allah Yarumvise ukwigaya kwanyu, Iraheza Irabababarira, burya rero Imana Allah, ni Nyeningabirano ku bemeramana."},{"id":153,"translation":"Ngendanyi z’Intumwa! Nimwibuke n’igihe mwahungira abansi banyu ku musozi ata wukebuka ngo arabe uwundi kubera ubwoba, Intumwa na yo ku rundi ruhande, ibahamagarira kugaruka ku rugamba, ntimwaheza ngo muyitabe, gutyo Imana Allah Ibahanisha agahinda ku kandi, kugira ngo ntimwicwe n’intuntu itewe no kubura intsinzi n’iminyago, no kugira kandi ntimwicwe n’intuntu ku vyabashikiye mu gutekerwa n’ubwoba no kuneshwa. Burya Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera;"},{"id":154,"translation":"Mu nyuma y’ako gahinda rero, ni ho Imana Allah Yabamanurira ituze n’umwizero w’isezerano ryayo, maze umugwi w’abizeye indishi ku Mana Allah muri mwebwe urahunyiza, mu gihe hari uwundi mugwi wacitse intege, urajwe ishinga no kurokoka ku rugamba, wiyumvira nabi Imana Allah ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo, uraheza uricuza mu kuvuga uti: “Mbega hari na kimwe twari dushoboye mu gufata ingingo yo kuja ku rugamba!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ingingo iyo ari yo yose ishigwa mu ngiro ku bubasha bw’Imana Allah”, bahisha mu mishaha yabo ivyo bataguserurira mu kwicuza kuja ku rugamba, bakavuga ku mutima bati: “Iyo tuza kuba dushoboye guhitamwo, ntitwari kuza gupfira ng’aha ku rugamba”. Babwire uti: “Ubuzima butangwa n’Imana Allah. N’iyo muza kuba muri mu miryango yanyu, abandikiwe n’Imana Allah gupfa, bari gusohoka baza gusanga urupfu aho bagenewe gupfira, kugira Imana Allah Igerageze iyumviramana riri mu mitima yanyu, Iheze Itandukanye umwiza yemera vy’ukuri n’umubi arangwa n’uburyarya”. Burya rero Imana Allah Irazi neza ibihishijwe mu mishaha."},{"id":155,"translation":"Mu vy’ukuri, abahunze muri mwebwe ku rugamba rwa Uhudi, umusi abemeramana bahangana n’ababangikanyamana, ni ukuri shetani yabanyereje muri ico caha bitewe na bimwe mu vyaha bakoze, ni ukuri Imana Allah Yarabababariye ntiyabahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere."},{"id":156,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabe nk’abagararije Imana Allah, iyo benewabo bafashe urugendo rwo kurondera icobabeshaho, maze bagapfa; canke bakicwa mu gihe bajanye n’abarwanira idini ry’Imana Allah, bashoka bavuga bati: “Iyo badafata urugendo canke iyo bataja ku rugamba, bagaheza bakagumana na twe, ntibari gupfa; eka ntibari no kwicwa”. Iryo jambo baryatuye ku rurimi, kugira Imana Allah Irigire imvo y’umubabaro n’agahinda mu mitima yabo, mu gihe abemeramana bazi neza ko ibibashikira vyose, biba vyaragezwe n’Imana Allah. Kira noneho rero, Imana Allah Iha ubuzima uwo Yabugeneye n’aho yoba ari ku rugendo canke ku rugamba; Ikabwaka uwashikiwe n’umusi w’urupfu rwiwe, n’aho yoba ari mu muryango wiwe. Burya Imana Allah Irabona neza ivyo mukora vyose, ni Nyenukubona."},{"id":157,"translation":"N’aho rero mwokwicirwa ku rugamba rwo guharanira idini, canke mugapfa urupfu rusanzwe, ni ukuri muri ico gihe, ico mukwiye kumenya ni uko ukugumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe, no kugirirwa impuhwe n’Imana Allah mu kuronswa Ubwami bw’ijuru, ari vyo vyiza cane kuri mwebwe kuruta isi n’ivyo abayihurumbira begeranya."},{"id":158,"translation":"N’aho mwopfa urupfu rusanzwe canke mukicirwa ku rugamba, ni ukuri ni ku Mana Allah muzokwegeranirizwa, Iheze Ibahembere ibikorwa vyanyu."},{"id":159,"translation":"Muvugishwamana! Kubera rero impuhwe z’Imana Allah, urorohera ingendanyi zawe. Iyo uza kuba urangwa n’imico mibi n’ingeso y’agatimatare, zari kuguhunga. Kubera ivyo rero, zigirire ikigongwe ku vyazishikiye ku rugamba rwa Uhudi, wongere uzisabire imbabazi ku Mana Allah, unazihanuze ijambo ku bikeneweko impanuro. Niwamara gufata ingingo mu vyo wazihanuje, uraheza uyishire mu ngiro wishimikije Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abayishimikiza mu vyo bakora bakayizera."},{"id":160,"translation":"Imana Allah niyabatabara, nta n’umwe azoshobora kubanesha; niyabakurako amaboko naho, nta n’umwe azoshobora kubatabara havuye Imana Allah! Abemeramana rero nibishimikize Imana Allah mu vyo bakora, bayizere."},{"id":161,"translation":"Ngendanyi z’intumwa! Nta ho vyakabaye ko Umuvugishwamana ahemukira ingendanyi ziwe mu kwiha na kimwe mu minyago, kiretse ico yagenewe n’Imana Allah. Uwo wese rero muri mwebwe yohemuka akiha na kimwe mu minyago, azoza ku musi w’izuka acikoreye ku guteterezwa imbere y’ibiremwa vyose. Hanyuma ikiremwa cose gifise ubuzima kizotunganirizwa ku ndishi y’ivyo carondeye. Abantu rero ntibazonarenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi."},{"id":162,"translation":"Burya rero, uwurondera gushimwa n’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, nta ho asa asana n’umuntu adandabagira mu bugaba akwiye ishavu ry’Imana Allah, n’ubushikiro bwiwe bukaba ari mu muriro wa Jahannamu! Ni na bwo bushikiro bubi cane."},{"id":163,"translation":"Abantu bo mu Bwami bw’ijuru rero, bazoba barutana mu vyubahiro hisunzwe ibikorwa vyabo, nk’uko n’abantu bo mu muriro bazoba barutana mu ngero z’inyenga y’umuriro barimwo, hisunzwe ivyaha vyabo. Burya Imana Allah rero, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, kandi Izobibahembera."},{"id":164,"translation":"Ni ukuri, Imana Allah Yarahundagaje inema zayo ku bemeramana, igihe Ibarungikira Intumwa itowe mu Barabu, ibasomera Aayah zayo za Qor’ani, ikanabeza ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikanabigisha Igitabu ca Qor’ani hamwe rero n’inyigisho n’imigenzo vy’intumwa, n’aho imbere y’irungikwa ry’iyo Ntumwa bari mu buhuvyi bugaragara."},{"id":165,"translation":"Bemeramana! Mbega igihe mushikiwe n’ikiza ku rugamba rwa Uhudi, hakicwa igitigiri c’abantu muri mwebwe, kandi na mwe mwarishe mu babangikanyamana ku rugamba rwa Badri igitigiri kingana n’ico kabiri, ni ho mwoca muvuga mwitangaza muti: “Twaneshejwe gute kandi turi abislamu, turi kumwe n’Intumwa y’Imana!”. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ikiza cabashikiye, caturutse kuri mwebwe nyene, ku kubera ukutubahiriza itegeko ry’Intumwa yanyu mu kuva mu bibanza vyanyu, mukaja kwegeranya iminyago”. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;"},{"id":166,"translation":"Ivyabashikiye rero mugakomeretswa canke mukicwa, umusi hahangana umugwi w’abemeramana n’umugwi w’ababangikanyamana ku rugamba rwa Uhudi, aho abemeramana batsinze mu ntango ariko bakaza gutsindwa mu nyuma, ivyo vyose vyari vyaragezwe ku bushobozi bw’Imana Allah, kugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi, maze Igaragaze abemeramana vy’ukuri muri mwebwe;"},{"id":167,"translation":"Yongere Igaragaze ababaye indyarya igihe babwirwa n’abemeramana bati: “Nimuze twifadikanye mu kurwanira idini ry’Imana Allah nimwaba mwemera vy’ukuri, canke mwikingire mukingire n’ivyanyu hamwe n’abanyu”. Bishuye bati: “Iyo tumenya ko muhava muhangana mukarwana, ni ukuri twari kwifadikanya na mwe tukabakurikira”. Uwo musi rero, indyarya zari hafi y’ubugarariji gusumba uko zoba ziri hafi y’ukwemera, kuko zavuga n’akanwa kazo ivyo zitemera ku mutima. Burya rero Imana Allah Irazi neza ivyo zihisha mu mishaha yazo."},{"id":168,"translation":"Indyarya zitagiye ku rugamba rwa Uhudi, zavuze ku bijanye n’abavandimwe bazo mu buryarya bishwe ku rugamba rwa Uhudi, ziti: “Iyo batwumvira ntibaje ku rugamba, ntibari kwicwa”. Ntumwa y’Imana! Zibwire uti: “Nimwikingire rero urupfu ntimuzopfe, nimwaba muri imvugakuri ko iyo babumvira batari kwicwa, n’uko na mwe mwarusimbishijwe n’ukutaja ku rugamba!”."},{"id":169,"translation":"Muvugishwamana! Ntiwiyumvire na gato ko abiciwe ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah bahwereye, ahubwo ni bazima mu buzima bw’inyuma yo gupfa, baronswa ibibabeshaho bivuye mu Bwami bw’ijuru ku Mana yabo Rurema Allah;"},{"id":170,"translation":"Akamwemwe kadasanzwe gatewe n’ivyiza biteye igomwe bahawe n’Imana Allah karabasya. Bafise n’akamwemwe gatewe n’agakuru keza ku bo basize inyuma bakiri bazima, bazopfira Imana Allah, ko ata bwoba bogira ku buzima bimirije inyuma yo gupfa, n’uko bobo batazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi;"},{"id":171,"translation":"N’uko banezerejwe n’inema hamwe n’izindi ngabirano zivuye ku Mana Allah, n’uko Imana Allah Itigera Itakaza indishi y’abemeramana."},{"id":172,"translation":"Abitavye akamo batewe n’Imana Allah n’Intumwa yayo inyuma y’aho urugamba rwa Uhudi rurangiriye, maze bakaja gukurikirana ababangikanyamana ahitwa “Hamraa-a l-Asad”, mu gihe bagifise inguma n’agahinda ko kuneshwa, abagwaneza n’abagamburukiramana muri bo rero, bazoronka impano zihambaye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":173,"translation":"Ababwiwe na bamwe mu babangikanyamana ku mvo zo kubatera ubwoba, bati: “Mu vy’ukuri, Abu Sufiyaani n’abo bari kumwe bamaze kwiyegeranya, bitegurira kubahohosha mutarasubira kwiyungunganya, muragabe rero mubiyubare ntimuje guhangana na bo kuko mudashobora kubanesha!”. Iryo terabwoba rero ha kubaca intege, ryabongerereje ukwemera n’ukwizera intsinzi iturutse ku Mana Allah, gutyo barabandanya gushika aho bagenewe, baraheza bavuga bati: “Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Idukingira, ni na Yo Muhagarikizi-Rutunga Iduhagarikiye”,"},{"id":174,"translation":"Ni ho rero abemeramana bagaruka i Madina bavuye aho hitwa “Hamraa-a l-Asad”, bari mu nema y’umutekano n’ingabirano bivuye ku Mana Allah, ata n’umwe muri bo yabangamiwe ngo akomeretswe canke ngo yicwe, kuko umwansi yapfuye coba ntiyaseruka ku rugamba, gutyo bakurikira ishimwa ry’Imana Allah mu kuyumvira, Yo hamwe n’Intumwa yayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Nyenimpano nyinshi zihambaye ku biremwa."},{"id":175,"translation":"Uwo yaje kubatera ubwoba, ni shetani itera ubwoba abemeramana bwo kudahangana n’abatabazi bayo mu babangikanyamana. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye na gato, nta co bashoboye kubagira. Muraheza rero nyabuna muntinye Jewe Allah mu kunyumvira nimwaba munyemera mukanemera n’Intumwa yanje."},{"id":176,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugaterwe intuntu n’abihutira kugarariza, mu vy’ukuri, nta co bazokwicira Imana Allah, ahubwo ni bo bazokwiyicira vyinshi, Imana Allah Ishaka kutazobaha indishi mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye."},{"id":177,"translation":"Mu vy’ukuri, abiguze ubugarariji ha kwemera, nta na kimwe bazokwicira Imana Allah. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza."},{"id":178,"translation":"Abagararije mu guhakana bivuye inyuma, iyo Tubahaye kuramba, Tukabaha n’ibisayangana kw’isi, ntitwihutire kubahanira ivyaha vyabo, ntibakibwire ko Tuba Tubahaye ivyiza; ni ukuri, Dutenyenya kubahana kugira barendegere mu bukozi bw’ikibi n’akarenganyo. Baranategekanirijwe ibihano bisuzuguza."},{"id":179,"translation":"Imana Allah ntiyari kureka abemeramana koko ngo babandanye babana n’indyarya, Itabanje kubatandukanya mu kugaragaza umubi arangwa n’uburyarya, n’umwiza arangwa n’ukwemera koko, gutyo hakamenyekana uwemera Imana Allah, hakanamenyekana n’indyarya muri mwebwe. Ntivyari no mu ntumbero y’Imana Allah kubahishurira ibinyegejwe ibiremwa kugira mwibonere indyarya muyimenye, ahubwo Imana Allah Igaragaza uwemera n’indyarya mw’igeragezwa ku bibashikira. Ariko Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse mu Ntumwa zayo, Ikamuhishurira bimwe mu binyegejwe ibiremwa, maze nya Ntumwa igaheza igatandukanya uwemera n’indyarya. Kubera ivyo rero, nimushishikare mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo. Nimwaramuka mwemeye vy’ukuri mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muzoheza muronke impembo zihambaye."},{"id":180,"translation":"Ingumyi zidatanga mu mpano Imana Allah Yazihaye, ntizikiyumvire ko ukwo kudatanga ari yo neza kuri zo, ahubwo ni inabi kuri zo. Amatungo zegeranije zikareka kuyatanga, zizoyambikwa mw’izosi yahindutse umuriro ku musi w’izuka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye. Kandi ivyo mukora vyose rero Irabizi, ni Muhetuziwavyose, Izobibahembera."},{"id":181,"translation":"Ni ukuri Imana Allah Yaramaze kwumva ijambo ry’abayahudi bavuze bati: “Mu vy’ukuri Imana Allah Irakenye, ni na co gituma Idusaba kuyigurana, ni twebwe rero dutunze”. Twebwe Allah Tuzokwandika iryo jambo bavuze, Twandike n’iyicwa ry’Abavugishwamana bishe ku karenganyo. Tuzonabibahanira Dushoke Tubabwira bari mu muriro Duti: “Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro ururumba, uturira;"},{"id":182,"translation":"Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ibicumuro mwakoze kw'isi mu mvugo n’ingiro no mu kwemera ibintazi; n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera\"."},{"id":183,"translation":"Abo bayahudi igihe bahamagarirwa kuba abislamu, bavuze bati: “Imana Allah Yaduhaye isezerano muri Tawurati ry’uko tutemera uwuzoza avuga ko ari Intumwa, gushika atuzaniye imperezwa yo kwiyegereza Imana Allah, hashoke haza umuriro uturutse mw’ijuru, maze uturire nya mperezwa”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mwanguha! Ntaco mwigovyora, kuko mwarungikiwe Intumwa aho hambere yanje ziza zifise ivyemezo n’ibitangaro vyemeza ko ari Intumwa vy’ukuri, zifise na nya mperezwa yaturiwe n’umuriro nk’uko mwabivuze, none ni kuki ba so bazishe nimwaba muri imvugakuri ku biri muri Tawurati!”."},{"id":184,"translation":"Nibaramuka baguhakanye bakakugarariza bivuye inyuma, si wewe rero uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri aho hambere yawe haragararijwe Intumwa nyinshi, zaje zifise ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, zibangikanije n’Imizingo irimwo inyigisho hamwe n’Ibitabu bitomora inzira y’ukuri."},{"id":185,"translation":"Zina kiremwa ico ari co cose gifise ubuzima gitegerezwa gupfa, gutyo ibiremwa vyose bisubire ku Wabiremye Allah, Aheze Abiharurire. Ni ukuri, muzotunganirizwa indishi zanyu ku vyo mwakoze zitagabanijweko na gato ku musi w’izuka. Uwo wese rero azoterwa iteka akigizwa kure y’umuriro, akinjizwa mu Bwami bw’ijuru, azoba aronse intsinzi nya ntsinzi. Burya ubuzima bwo kw’isi, si ikindi kiretse ko ari ibihendamaso vyo kuryoherwa gato, ntibukabahende rero."},{"id":186,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri mutegerezwa kugeragezwa mu gutanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa; mu gushikirwa n’intureka mu matungo yanyu; mu gukomeretswa no mu kwicwa, canke kubura abanyu mukunda, gushika muboneke ko mwemera vy’ukuri; ni ukuri muzokwumva n’amajambo yo gutyoza idini ryanyu abababaza kenshi, avugwa n’abayahudi, abanaswara n’ababangikanyamana. Bemeramana! Nimwihanganira rero ibangamira ryabo, mukanatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni ukuri muramenya ko ivyo biri mu bintu bihambaye bikwiye gufatwako ingingo."},{"id":187,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana Allah Yaha isezerano abahawe Igitabu Iti: “Mutegerezwa gushira mu ngiro amabwirizwa yacu ari muri Tawurati no mu Njili mwongere munayigishe abantu, kandi ntimuzohirahire ngo muyanyegeze”, baraheza bata nya sezerano inyuma y’umugongo ntibaryubahiriza, bariguza ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, kugira banyegeze canke bahindagure ukuri kuri muri nya Gitabu, iryo rero ni ryo guza ribi cane."},{"id":188,"translation":"Ntiwiyumvire ko abanezerezwa n’ibibi bakora bagakunda no gushimwa n’abantu ku vyo batakoze, bazokira ibihano vy’Imana Allah kw’isi. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa [20].","footnotes":"[20] Iyi Aayah irihaniza igatega imisi umuntu wese anezerezwa n’ikibi yakoze, akunda kwigamba ku vyo atakoze ashaka gushimwa n’abantu."},{"id":189,"translation":"Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, burya Imana Allah ni na Yo Mushoboravyose."},{"id":190,"translation":"Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari, no mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango ku buryo ijoro hari igihe riba rirerire, ikindi gihe umurango ukaba muremure, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bantu b’incabwenge koko, vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Yabiremye;"},{"id":191,"translation":"Barya baninahaza bagatazira Imana Allah bahagaze, bicaye canke baryamiye urubavu, bakanaguma biyumvira ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema amajuru indwi n’isi, bagaheza bakavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntiwaremeye ubusa ibi vyose! Ininahazwa ni iryawe Mana, turagusavye rero Udukingire ibihano vy’umuriro udahera;"},{"id":192,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Wewe mu vy’ukuri, uwo Uzoshira mu muriro udahera, Uzoba Wamutetereje, kanatsinda kuri uwo musi abirenganije mu kukubangikanya ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vyawe;"},{"id":193,"translation":"Mana yacu Rurema! Twebwe mu vy’ukuri twarumvise Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) irarikira abantu ku kwemera, ivuga iti: “Nyabuna nimwemere Imana yanyu Rurema Allah, mwubahirize n’amabwirizwa yayo”, duca turayemera. Mana yacu Rurema! Turagusavye rero, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, Wongere Utubabarire n’ibicumuro vyacu, nihagera ko duhwera naho, Uraheza Udushire mu beranda;"},{"id":194,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Duhe intsinzi, ugutsimbatara no gutumbera inzira yawe Wadusezeraniye ku Ntumwa zawe. Ntuzotumaramaze ku musi w’izuka mu gushira ivyaha vyacu ku mugaragaro. Mu vy’ukuri, Wewe nturenga kw’isezerano Wahaye ibiremwa”."},{"id":195,"translation":"Gutyo Imana yabo Rurema Allah Iraheza Irabakirira igisabisho Iti: “Jewe mu vy’ukuri, sintakaza indishi y’uwakoze igikorwa ciza muri mwebwe, yaba umuhungu canke umukobwa, mwese murangana mu kwemera, mu kwakirirwa ibikorwa no mu kubihemberwa indishi. Kubera ivyo rero, abimutse izabo barondera gushimwa n’Imana Allah, n’abasohowe mu zabo bakageramirwa bahorwa kumparanira no kunsenga, bakaja no ku rugamba ku guharanira idini ryanje, bakicwa, ni ukuri Jewe Allah Nzobagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ku musi w’izuka, maze sindabibahanire, kandi ni ukuri Nzoheza Ndabinjize mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi”, iyo ni yo ndishi ibereye ivuye ku Mana Allah. Burya ku Mana Allah, ni ho hari indishi nziza zishemeye."},{"id":196,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugahendwe n’ukuntu abagararije babayeho borohewe mu buzima bwo kw’isi, bishira bakizana aha na hariya mu rudandazwa, bitebe bitebuke bazohemberwa ivyo bakora;"},{"id":197,"translation":"Ivyo, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa umwanya muto, hanyuma ubushikiro bwabo ku musi w’izuka ni mu muriro wa Jahannamu, ni na bwo busaswa bubi cane."},{"id":198,"translation":"Ariko abatinye Imana yabo Rurema Allah, bakanayigamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera, ni ryo cumbi ryabo bategekanirijwe n’Imana Allah. Burya rero, ibiri ku Mana Allah mu ngabirano zihambaye, ni vyo vyiza cane ku bagamburukiramana kuruta ukuntu abagarariji babayeho borohewe kw’isi."},{"id":199,"translation":"Bemeramana! Mu vy’ukuri bamwe mu bahawe Igitabu, ni ukuri baremera Imana Imwe Rudende Allah, bakemera na Qor’ani mwamanuriwe, hamwe na Tawurati n’Injili bamanuriwe, bakicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah, ntibanafata Aayah z’Imana Allah ngo baziguze ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, kugira ngo banyegeze canke bahindagure ukuri bazi. Abo, ni bo rero bategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, indishi yabo ikwiye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa."},{"id":200,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwihanganire kwama mwumvira Imana Allah, mwihanganire n’ibibashikira, maze mutsindishe abansi banyu ukwihangana ku rugamba, muheze mugume ku birindiro vy’urugamba, munatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":4,"verses":[{"id":1,"translation":"Emwe bantu! Nimutinye Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwiriza yayo, kuko ari Yo Yabaremye Ibakomoye ku muntu umwe ari we Adamu, Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa, Inakwiragiza mu mihingo yose yo kw’isi uruvyaro rubakomotseko; abahungu n’abakobwa benshi. Nimutinye rero Imana Allah, Yo musabana hagati yanyu kw’Izina ryayo, mwongere mwiyubare guca ubuvandimwe buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Mureretsiwavyose, Ibashinze ijisho ku vyo mukora vyose;"},{"id":2,"translation":"Impfuvyi musanzwe muhagarariye nizagera mu bigero, muraheza muzihe amatungo yazo, mu gihe mumaze kubona ko zishoboye kuyabungabunga; kandi ntimuzokwikike mu kiza mu kwihagira ivyiza muri nya matungo, ngo mubisubirize ibibi mukuye mu matungo yanyu. Ntimuzonavange amatungo yazo hamwe n’amatungo yanyu mu ntumbero yo gushaka kwigarurira (mu kurya) amatungo yazo. Mu vy’ukuri uwubahutse gukora ivyo, aba akoze icaha rutura."},{"id":3,"translation":"Nimwagira impungenge zo gutunganiriza impfuvyikazi musanzwe muhagarikiye mu kutaziha inkwano zazo zikwiye, murabira abo mugomwe mu bandi bakenyezi; babiribabiri, batatubatatu canke banebane. Nimwatinya naho ko mutobatunganiriza, muraheza mwabire umukenyezi umwe gusa canke mwikore ku ncoreke musanzwe mugaba. Ukwubahiriza izo ngingo zerekeye gutunganiriza impfuvyi no kwabira, ni kwo gutuma mutorenganya;"},{"id":4,"translation":"Bagabo mwipfuza kwubaka izanyu! Murahereza abakenyezi inkwano zabo zitegetswe ata gahigihigi. Nibashimishwa n’ukubaha kuri nya nkwano ata gahato kagiyemwo, murakirana umutima ushima ico babahereje, mugifungurane akayabagu."},{"id":5,"translation":"Ntimugahe amatungo musanzwe muhagarikiye abayasesagura bitewe n’uko bakiri bato canke batazi ikoreshwa ribereye ry’amatungo, ayo matungo ni yo Imana Allah Yagize ishingiro ry’ubuzima bw’abantu, muraheza rero mubaheko ibibabeshaho munabambike, mwongere mubayagishe neza."},{"id":6,"translation":"Murageza ubushobozi bw’impfuvyi muhagarariye zitaragera mu bigero, ko zishoboye gukoresha neza amatungo. Zimaze kugera mu bigero rero, mukamenya kandi ko zishoboye gukoresha neza amatungo yazo, mukanabona ko zigengwa n’ingeso nziza, zinashoboye kubungabunga amatungo yazo, muraheza muzishikirize nya matungo. Ntimuzorengere kuri nya matungo, ngo mushoke muyasesagura mu kuyafungura, nya mpfuvyi zitarakura. Uwuzozihagarikira asanzwe atunze, arabumbwa n’ivyo atunze, ntakomakome na kimwe mu matungo yazo. Uwuzoba na we akenye, arihako ibimubeshaho ku rugero rw’ibimukwiye ata gusesagura. Nivyashika ko muzishikiriza amatungo yazo zimaze kugera mu bigero, zikaba zinashoboye kuyabungabunga, muraheza musabe abababera ivyabona ko mushikirije amatungo yose akwiye. Burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Mureretsi Ibaharurira, Ikabahembera ivyo mwakoze."},{"id":7,"translation":"Abahungu bakuze canke bakiri bato, barafise ico bagenewe n’Imana Allah mu bisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe babo bapfuye. N’abakobwa bakuze canke bakiri bato, na bo nyene barafise ico bagenewe n’Imana Allah mu bisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe babo bapfuye, uko bingana kwose, biba bike canke vyinshi, ni umugabane bagenewe n’ibwirizwa ry’Imana Allah."},{"id":8,"translation":"Nihagaburwa ibisigi, hakaba hari abavandimwe b’umuhisi batari ku rutonde rw’abatorana, impfuvyi hamwe n’abakene, murashobora kubaha ibibabeshaho kuri nya bisigi imbere yuko bigaburwa, muheze munabayagishe neza ata gashinyaguro."},{"id":9,"translation":"Abahagarikiye impfuvyi, bategerezwa gutinya kuzirenganya; nka kurya batinya kurenganywa no kwangazwa kw’abana babo mu gihe bobasiga ari impfuvyi. Baratinya rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu gucungera amatungo no kurera impfuvyi ata kuzibangamira, baheze banaziyagishe neza mu kuzihumuriza."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, abatandukira mu kwihereza amatungo y’impfuvyi bakayarya, ni ukuri barya umuriro uzorurumba mu nda zabo ku musi w’izuka, kandi bazokwinjira mu muriro wama wegenyejwe."},{"id":11,"translation":"Imana Allah Ibabwirije kugaburira ibisigi abana banyu. Mu gihe rero umwe muri mwebwe yohwera agasiga abana b’abahungu n’abakobwa, baraheza bagatorana ibisigi vyose, maze umuhungu agatorana ibigwijwe kabiri vy’ivyo umukobwa atorana; mu gihe yosiga abana b’abakobwa gusa barenga babiri, baraheza bagatorana bibiri vya gatatu vy’ibisigi vyose; mu gihe yosiga umwana w’umukobwa umwe gusa, araheza agatorana igice c’ibisigi. Abavyeyi b’umuhisi, umwe wese muri bo atorana ica gatandatu c’ibisigi, mu gihe umuhisi yosiga umwana w’umuhungu canke w’umukobwa, umwe canke benshi. Mu gihe atosiga umwana, hagatorana abavyeyi biwe gusa, nyina araheza agatorana ica gatatu, se na we agatorana ibisigaye. Mu gihe umuhisi yosiga benewabo babiri canke barenga, abahungu canke abakobwa, nyina wiwe araheza agatorana ica gatandatu, se na we agatorana ibisigaye, benewabo na bo nta co batorana. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma y’ukwubahirizwa kw’iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye. Ba so hamwe n’abana banyu bagenewe gutorana, ntimuzi uwoba muri bo ari we kirumara kuruta kuri mwebwe. Iryo gaburwa ry’ibisigi rero, ni ibwirizwa kuri mwebwe, muhawe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi neza ibiremwa vyayo, ni Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":12,"translation":"Na mwe abagabo murafise gutorana igice c’ibisigi vy’abakenyezi banyu, mu gihe badasize umwana w’umuhungu canke w’umukobwa. Mu gihe bosiga umwana, naho nyene murafise gutorana ica kane c’ibisigi vyabo. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye. Abakenyezi banyu na bo barafise gutorana ica kane c’ibisigi vyanyu, mu gihe mwoba mutasize umwana w’umuhungu canke w’umukobwa; mu gihe mwosiga umwana naho, barafise gutorana ic’umunani c’ibisigi vyanyu[1]. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ryanyu ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane muheranye. Iyo umugabo canke umugore ahwereye ntasige umwana n’umwe canke umuvyeyi, akaba afise musazawe canke mushikiwe basangiye nyina, umwe wese muri bo araheza agatorana ica gatandatu; mu gihe yoba naho afise basazawe canke bashikiwe barenze umwe basangiye nyina, baraheza bagatorana ica gatatu c’ibisigi, maze bakakigabura bakanganya bataravye igitsina-gabo canke igitsina-gore. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye mu buryo budatera intambamyi[2] abatorana. Iryo ni ryo ragi murazwe n’Imana Allah. Burya rero Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Nyenubwitonzi-ntangere.","footnotes":"[1] Ica kane canke ic’umunani c’ibisigi, umukenyezi agitorana ari umwe, iyo barenga umwe naho barakigabura bakanganya.\n[2] Nko kuriha ingurane umuhisi atigeze arya canke gusiga iragi ryo gutanga ibirenga ica gatatu c’ibisigi."},{"id":13,"translation":"Izo ngingo zerekeye ugutunganiriza impfuvyi, ukwabira abakenyezi no gutorana ibisigi, ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, mutegetswe kutazirengako. Uwo wese rero azokwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo akubahiriza izo ngingo n’ayandi mabwirizwa, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera. Iyo ni na yo ntsinzi ihambaye."},{"id":14,"translation":"Uwo wese azogabitaniriza Imana Allah n’Intumwa yayo mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa yayo, maze akayarengako canke akayahindura, Imana Allah Izomwinjiza mu muriro, awubemwo ibihe bidahera, aranategekanirijwe n’ibihano bisuzuguza."},{"id":15,"translation":"Abasambanye mu bakenyezi banyu murasaba ivyabona vy’abagabo bine vy’intungane muri mwebwe abislamu bibagirize; nivyabagiriza ico caha, murabahanisha ukwugaranirwa mu nzu gushika gupfa canke gushika Imana Allah Ibaciriye inzira yo kubeza ico gihano;"},{"id":16,"translation":"Nayo abasambana muri mwebwe abagabo, murabahanisha ugukubitwa, kubomora no kubanebagura. Nibaramuka bihanye bagakora ivyiza bitegetswe, murashoka mwirengagiza ukubahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe."},{"id":17,"translation":"Ni ukuri, ukwigaya kwemewe ku Mana Allah, ni ukw’abakora ibicumuro n’ivyaha ku bujuju bwo kutamenya ingaruka yavyo, hanyuma bakagaruka ku Mana Allah bakayumvira batarashika ku mpfiro, abo rero ni bo Imana Allah Yemerera ukwigaya kwabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":18,"translation":"Ukwigaya kwemewe rero, si ukw’abatsimbatara ku vyaha n’ibicumuro, ntibaheze ngo bagaruke ku Mana Allah gushika bagere ku mpfiro, ahasigaye umwe muri bo akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ubu ndigaye ku Mana Allah”, ni nk’uko nyene ukwigaya kw’abapfa bakigarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, ntikwemerwa. Abo ni bo rero Twebwe Allah Twategekanirije ibihano bibabaza."},{"id":19,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimurekuriwe kwihagira abakenyezi basigwa na ba so ku gahato, mukabafata nk’aho boba ari ibisigi, mu kubabira canke kubabuza kwabirwa, kubashingira ku bandi bagabo ku gahato. Ntimunarekuriwe kubangamira abakenyezi banyu kugira babahebere ku gahato zimwe mu nkwano mwabahaye, n’ibindi, kiretse mu gihe bokora icaha c’agahomerabunwa (nk’ugusambana), muri ico gihe rero, murekuriwe kubagumya gushika babiyambuye mu kubasubiza inkwano mwabahaye. Muraheza rero mubane n’abakenyezi banyu ku neza, mu rukundo n’iteka nta ngere mu mvugo n’ingiro. Nimwaramuka mubanse ku mvo iyi canke iriya ishingiye ku vy’isi, murabihanganira, kuko hari n’aho mwokwanka ikintu, maze Imana Allah Ikagishiramwo ivyiza vyinshi."},{"id":20,"translation":"Nimwashaka kwabira umugore asubirira uwundi mwipfuza kwahukana, mukaba mwari mwaramaze guha uwo mwipfuza kwahukana inkwano nyinshi, ntimurekuriwe namba kwiha na kimwe kuri nya nkwano. Mbega none muyihako mukoresheje ikinyoma kigaragara, kandi mutanayifiseko uburenganzira!"},{"id":21,"translation":"Ni gute mworekurirwa kuyihako kandi mwaramaze kwihererana na bo mu kurangura amabanga y’abubatse, kandi na bo nyene bakaba baramaze kubaha isezerano riremereye ryo kubana ku neza canke kwahukana ku neza!"},{"id":22,"translation":"Kiranazira kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, uwigeze kwabirwa na ba so, kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Burya ukwabira abakenyezi bigeze kwabirwa na ba so, ni icaha kibi cane c’agahomerabunwa, kiranashavuza Imana Allah, ni n’inzira n’inyifato mbi."},{"id":23,"translation":"Haraziririjwe kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, ba nyoko na ba nyokuru bo ku ruhande rwa ba so canke rwa ba nyoko; abakobwa banyu n’abuzukuru b’abakobwa b’abana banyu kubandanya umanuka; bashikanyu musangiye abavyeyi bompi canke umwe muri bo; ba senge na bashiki ba sokuru banyu; ba nyokwanyu na ba nyokuru banyu; abakobwanyu; abishwanyu n’abakobwa babo; ba nyoko b’ibere; bashikanyu b’ibere[4], ba nyokobukwe [5], abakobwa b’abakenyezi banyu bavutse ku bandi bagabo barererwa kenshi iwanyu[6], mu gihe mwoba mwaramaze guhuza ibitsina mu kurangurana na ba nyina babo amabanga y’abubatse, mu gihe mwoba mutari bwayarangurane hanyuma mukahukana na bo canke bagapfa, aho nta kabi kuri mwebwe kari mu kwabira nya bakobwa; abakazana banyu bashingiwe abahungu mwibarutse canke abonkejwe n’abakenyezi banyu, mu gihe boba barashingiwe gusa, n’aho boba bataranguranye amabanga y’abubatse; kwabira umugore hamwe n’uwo bavukana basangiye amaraso canke bonse rimwe[7], kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[4] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaraziririje ku bonse rimwe ibisanzwe bizira ku bavukana basangiye amaraso.\n[5] Mwaba mumaze kurangurana amabanga y’abubatse n’abakobwa babo canke mutarayarangurana.\n[6] Kiranazira kubabira n’aho boba batarerewe iwanyu.\n[7] Kirazira kandi mu migenzo y’intumwa kwabira umugore hamwe na inasenge canke na nyinabo."},{"id":24,"translation":"Kiranazira kwabira abakenyezi basanzwe bubatse izabo, kiretse inyuma yo kwarama kw’uwapfakaye canke kw’uwahukanye, canke mu gihe bagizwe imbohe mu ndwano inyuma yuko bavuye mu butinyanka rimwe. Abo rero ni bo bakenyezi Imana Allah Yaziririje ko mwobabira, Iraheza Ibarekurira kwabira abatari abo, mu bo mwipfuza kwubakana bidaciye mu busambanyi, mumaze gutanga inkwano zanyu. Abo muzorangurana amabanga y’abubatse muri bo inyuma yo kuragana, muraheza mubahereze inkwano zabo mwategetswe n’Imana Allah, nta n’icaha kuri mwebwe mu gihe mwokwumvikana kurenza, canke kugabanya ku nkwano zitegetswe mwamaze kwumvikanako. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":25,"translation":"Uwudashoboye muri mwebwe gutanga inkwano z’abakenyezi bigenga b’abemeramanakazi, araheza yabire mu bigeme banyu b’abagurano b’abemeramanakazi. Burya Imana Allah ni Yo Izi neza ukwemera kwanyu, ntimuzogire isoni rero zo kwabira abagurano, kuko mwese musangiye inkomoko-muntu, murababira rero ku burenganzira bw’abavandimwe babo, munabahereze inkwano zabo mwumvikanye ku neza, maze bubake rugume badasambana, batanagira abahabara. Nibamara kwabirwa bagakora icaha c’agahomerabunwa c’ubusambanyi, murabahanisha igice c’igihano c’ubusambanyi gihabwa abakenyezi bigenga. Ukwabira abakenyezi b’abagurano rero, kurekuriwe uwutinya ko yohava agwa mu caha c’ubusambanyi kuko adashoboye kwihangana. Mushoboye kutabira abagurano mukihanganira kudasambana, ni vyiza cane kuri mwebwe kurusha. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":26,"translation":"Imana Allah mu kubashingira izo ngingo, Ishaka kubatomorera ibiranga idini ryayo ritomoye, Inabereke inzira igororotse y’Abavugishwamana n’aberanda b’aho hambere yanyu, kugira mubigane, Iheze Ibumvire ukwigaya kwanyu, burya Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":27,"translation":"Imana Allah Ishaka kubumvira ukwigaya kwanyu Iheze Ibababarire, mu gihe abatwarwa n’ivyipfuzo vyabo bashaka ko muhengama cane mugata inzira y’idini;"},{"id":28,"translation":"Imana Allah Ishaka kuborohereza mu vyo Ibategeka kuko kiremwa-muntu caremanwe ingoga nke zo kurwanya ivyipfuzo vyaco."},{"id":29,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nta n’umwe muri mwebwe arekuriwe kwihagira amatungo y’abandi ata burenganzira ayafiseko, kiretse mu gihe yubahirije ingingo zerekeye urudandazwa mu mwumvikano hagati yanyu; kandi ntimukihekure mu kwicana hagati yanyu kuko vyotuma muhona. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi, Ibafitiye impuhwe mu vyo Ibabwiriza vyose."},{"id":30,"translation":"Uwo wese rero azorenga ku vyabujijwe n’Imana Allah, akihagira amatungo y’abandi ku karenganyo[8], aramenya ko Twebwe Allah Tuzomwinjiza mu muriro, kandi ukumuhanisha umuriro biroroshe ku Mana Allah.","footnotes":"[8] Nko kwiba, kwambura utwa murundi no guhangika."},{"id":31,"translation":"Bemeramana! Nimwirinda gukora ivyaha rutura[9] mu vyo mubuzwa, Tuzoheza Tubababarire ibicumuro n’ivyaha vyanyu bitobito, maze Tubinjize ubwinjiriro bwiza kandi bwubashwe bugana mu Bwami bw’ijuru;","footnotes":"[9] Nk’ibangikanyamana, kutubaha no kutubahiriza agateka k’abavyeyi, no kwicira umuntu ubusa, n’ibindi."},{"id":32,"translation":"Ntimukipfuze ivyo Imana Allah Yateje iteka bamwe muri mwebwe; nko guhabwa ubuhinga n’ibibabeshaho, n’ibindi. Burya Imana Allah Yageneye abagabo kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye; n’abagore nyene Yabageneye kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye. Muraheza rero musabe Imana Allah, Izobaronsa mu mpano zayo, ha kwipfuza ivy’abandi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi ibikwiye bitunganye mu vyo Igenera ibiremwa vyayo, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":33,"translation":"Umwe wese muri mwebwe rero, Twaramugeneye abatorana ibisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe biwe, hamwe rero n’abo mwanywanye mu kurahira ko mutegerezwa gutabarana no guhana ku bisigi, abo rero murabaha ico bagenewe mu bisigi[10]. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, ni Yo Cabonamurivyose.","footnotes":"[10] Ugutorana hisunzwe ukunywana kwarubahirizwa mu ntango y’ubwislamu, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye isubirirwa n’ingingo zo gutorana. Raba Aayah ya 11 n’iya 12 muri iki gisomwa c’Abakenyezi."},{"id":34,"translation":"Abagabo ni bo bahagarikizi batunganiriza abakenyezi, ku kubera ivyo Imana Allah Yabateje iteka mu ngimba n’ubukerebutsi, gutanga inkwano hamwe rero no kubeshaho umuryango. Aberanda mu bakenyezi rero, ni barya bicisha bugufi ku Mana Allah, bumvira abo bubakanye, bakanabungabunga n’ivyo baragijwe n’Imana Allah ku bushobozi bwayo, batarinze gushingwa ijisho n’abo bubakanye[11]. Nayo abakenyezi mutinya ko bokwiganza mu kutabubaha, murabahanura mu rupfasoni; nibatihana, murabahunga ku buriri ntimubegere; nibatihana, murabakubita mutavuna igufa. Nibaramuka babumviye rero bakihana, ntimuzohirahire ngo mubarenganye na gato mu mvugo canke mu ngiro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru.","footnotes":"[11] Ivyo na vyo, ni icubahiro c’abubakanye mu kudasambana, bakabungabunga n’amatungo yabo mu kudasesagura, bakitwararika n’indero y’ibibondo vyabo."},{"id":35,"translation":"Emwe muserukira imiryango! Nimwamenya ko hagati y’abubatse hari ukutumvikana kwotuma bahukana, muraheza murungike umuhanuzi w’intungane avuye ku ruhande rw’umukenyezi n’umuhanuzi w’intungane avuye ku ruhande rw’umugabo, baheze barabire hamwe ingingo yokwubahirizwa ku neza y’abubakanye. Abo bahanuzi rero, nibashira imbere ukubasubiza hamwe, Imana Allah Izokworosha imitima yabo, maze basubize hamwe babane. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose."},{"id":36,"translation":"Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ntimukanayibangikanye n’ikintu na kimwe, muheze mwubahe mwubahirize n’agateka k’abavyeyi ku bugwaneza, mube n’abagwaneza ku bavandimwe, ku mpfuvyi, ku bakene, ku mubanyi wa hafi n’uwa kure, ku mugenzi musanganwe canke muri kumwe ku rugendo, ku wakehaniwe ku rugendo no ku bagurano mugaba. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abishima, birata ku bantu;"},{"id":37,"translation":"Ingumyi zidatanga mu vyo zahawe n’Imana Allah, zikanabwiriza abandi kuba ingumyi, zikanihakana inema zahawe n’Imana Allah, zikananyegeza ivyo zahawe mu mpano zayo. Burya Twebwe Allah Twarategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza;"},{"id":38,"translation":"Twaranategekanirije ibihano barya batanga mu matungo yabo ku kwiyerekana ku bantu, batanemera Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo rero, ni ibikorwa bibi shetani irarikira abantu. Uwo wese rero shetani izogira umugenzi, azoba agize umugenzi mubi;"},{"id":39,"translation":"Hari ico vyari kubatwara iyo bemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu vyo Imana Allah Yabahaye bazirikana indishi kuri Yo! Burya Imana Allah Yamye Ibazi, Izi n’ivyo bakora, Izonabibahembera, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ntirenganya na gato, n’aho koba akantu kangana n’inzatsa. Iciza rero, n’iyo coba kingana n’inzatsa, Imana Allah Iraheza Ikakigwiza, Ikanaha uwagikoze impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":41,"translation":"Mbega abantu bazomererwa gute ku musi w’izuka, igihe Twebwe Allah Twarengukije mu mugwi uwo ari wo wose w’abantu, Intumwa warungikiwe kugira iwagirize ku vyo wakoze, Tugashoka Tukurengutsa na wewe Muhamadi kugira wagirize abo warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa buvuye ku Mana yawe Rurema Allah!"},{"id":42,"translation":"Uwo musi rero, abagararije Imana Allah bagaca kubiri n’Intumwa, bazokwipfuza ko bopfuma bahinduka bagacika ivu kugira ntibazuke ngo biregure, nta na kimwe bazoshobora kunyegeza Imana Allah mu vyo bakoze kuko Izobaziba akanwa, maze bagirizwe n’ibihimba vyabo."},{"id":43,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukegere isengesho ngo musenge mu gihe muborewe, gushika mushobore gutandukanya icatsi n’ururo mutahure n’ivyo muvuga[12]; eka ntimugasenge no mu gihe mwashikiwe n’ibihumanya bituma mwiyuhagira; ntimukaje no mu misigiti muri ico gihe, kiretse mu gihe mwoyicamwo murengana gusa, gushika mubanje kwiyuhagira n’amazi. Nimwaba naho murwaye indwara ibabuza kwiyuhagira n’amazi, canke muri ku rugendo mukayabura, canke hakaba muri mwebwe uwuvuye kwituma canke kwihagarika, canke mukaba mwaranguye amabanga y’abubatse, hanyuma mukabura amazi yo kwiyuhagira, canke mugatinya ingaruka yo kuyiyuhagira, muri ico gihe rero, murashoka mukoresha ivu ryiza mu kwihumanura, maze mukubite ibiganza kuri nya vu, muheze mubihanaguze mu maso no ku maboko yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.","footnotes":"[12] Iyi ngingo yubahirijwe imbere yuko inzoga iziririzwa burundu."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abayahudi bahawe ubumenyi bw’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, aho bigura ubuhuvyi mu guhindagura ibiri muri co, ha kurongoka mu gukurikira ivyemezo bafise vyerekana ko ubutumwa bwawe ari ubw’ukuri, gutyo ga bemeramana, bakipfuza ko mwohuba inzira igororotse, mukaba nkabo;"},{"id":45,"translation":"Burya Imana Allah Irazi kubarusha abansi banyu n’urwanko babafitiye. Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi-Rutunganya, Ibatunganiriza ivyanyu. Imana Allah Iranakwiye kuba ari Yo Muterangoga, Ituma mutsinda abansi banyu."},{"id":46,"translation":"Burya mu bayahudi harimwo umugwi wihaye guhindagura amajambo y’Imana Allah mw’irementanya uko atari, bagaheza bakabwira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kwiyorobeka bati: “Twumvise ijambo ryawe!”, ariko ku mutima riniga bati: “Twiyamirije ibwirizwa ryawe!”, bakongera bati: “Twumvirize ntukumve[13], uheze utwiteho utwumvirize tukwumvirize[14]”, ivyo bakabivugana akarimi gasosa mu ntumbero yo gusabira Intumwa nabi, no gutyoza idini ry’ubwislamu. Iyo bapfuma bavuga bati: “Twumvise kandi twakwumviye, twumvirize rero unadutumbere kugira tugutahure gusumba”, vyari kuba vyiza cane kurusha kuri bo, ryari kuba n’ijambo ritunganye cane, ariko rero Imana Allah Yarabavumye kubera igarariza ryabo ryo kutumvira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), burya ntibemera vy’ukuri kiretse gake cane ata co kazobungura.","footnotes":"[13] Bashaka kuvuga bati: “Urakaziba amatwi, ntukumve”.\n[14] Iryo jambo, ni igitutsi mu mvugo y’abayahudi."},{"id":47,"translation":"Emwe bahawe Igitabu! Enda nimwemere ivyo Twamanuye muri Qor’ani bishimangira ivyo mufise mu Bitabu mwahawe, imbere yuko Tubahanira ivyo mwakoze, maze Tukabakebanya imitwe ikaraba mu mugongo, canke Tukabavuma, Tukabahindura ingurube nk’uko Twavumye benisabato, Twababujije kuroba kw’isabato ntibavyubahiriza. Ingingo y’Imana Allah yo kubahana yahavuye ishirwa mu ngiro, baravumwa."},{"id":48,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ngo Ibabarire icaha co kuyibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa, canke kuyigarariza mu buryo ubwo ari bwo bwose buciye kubiri n’ukwemera, mu gihe uwagikoze yopfa atarigaya. Imana Allah Igumiriza akabanga, Ikababarira ibindi vyaha n’ibicumuro bitari ivyo ku wo Ishatse mu biremwa. Uwo wese rero abangikanije Imana Allah n’ikindi kintu, aba yadukanye icaha rutura koko."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abiyeza ku bandi bakishimira ibikorwa vyabo ko ari bo ntore! Ahubwo burya Imana Allah Yonyene ni Yo Yeza Igashima ibikorwa vy’uwo Ishatse mu biremwa, kira noneho ntibazorenganywa na gato ku co bakoze, n’aho coba akantu ide kangana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba maze utangazwe n’ukuntu bubahuka bakarementaniriza Imana Allah mu buryo butubahiriza icubahiro cayo! Iryo rementanya rero, rirakwiye kuba ikinyoma n’icaha kigaragara."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abayahudi bahawe ubumenyi bw’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bemera ibintazi n’ibigirwamana vyo mu bwoko bwose mu mashetani akomoka mu majini no mu bantu [15], bagashimishwa n’isengwa ryavyo mu gishingo c’Imana Allah, ivyo bigatuma bisunga amateka adakomoka ku Mana Allah, bagaheza bakabwira abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Aba bagarariji, ni bo bagororotsi bakurikiye inzira irashe kuruta iy’abo bemeye Imana Allah”!","footnotes":"[15] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa."},{"id":52,"translation":"Abo bavuga ukwo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, burya uwuvumwe n’Imana Allah, ntuzokwigera umuronkera umutabazi amukingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":53,"translation":"Ahubwo none, burya boba bafise umugabane w’ubwami bahawe! Abari aho, iyo bahabwa umugabane w’ubwami, ntibari kugira n’umwe mu bantu baha akantu ide kangana n’agahere kari ku mugongo w’urutete rw’itende [16].","footnotes":"[16] Kangana n’urutete rw’ururo."},{"id":54,"translation":"Ahubwo none, burya boba basharika Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku nema y’ubutumwa yahawe n’Imana Allah, bagasharika n’ingendanyi zayo ku nema yo gushobozwa kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, no gutsimbatazwa kw’isi, gutyo bigatuma babipfuriza guhuba! Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye uruvyaro rw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Ibitabu n’izindi nyigisho zitanditswe, Twaranaruhaye hamwe n’ivyo, ubwami buhambaye."},{"id":55,"translation":"Mu bayahudi rero, harimwo abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) baranakurikiza amabwirizwa y’ubwislamu, hakabamwo rero n’abandi bayirengagije ntibayemera, baranaburagiza abantu kuyikurikira. Barakwiye rero guhanishwa umuriro ururumba wa Jahannamu."},{"id":56,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah Twamanuye mu Gitabu hamwe n’ivyemezo vyacu, Tuzobinjiza mu muriro maze bawote, uko uruhu (irukoba) rw’imibiri yabo ruhiye rugashishuka, ni ko Tuzobaremera urundi ruhu, kugira babandanye guhonja ibihano ku bindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":57,"translation":"Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Tuzobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa n’ibiti vyaho hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Bazoba banafiseyo abakenyezi basukuye batagira akanenge, Tuzonabugamika mu gatutu gapfutse katigera karenga."},{"id":58,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubungabunga imbitso z’ubwoko bwose mukazisubiza bene zo nk’uko mwazibikijwe, Ikanabategeka gutunganiriza abantu ata nkunzi mu gihe mubaciriye urubanza. Mu vy’ukuri, ni vyiza cane ivyo Imana Allah Ibahanura. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona ivyo mukora."},{"id":59,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah ntimukagabitanye, mwumvire n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu vyo ibashikirije, muheze mwumvire n’indongozi muri mwebwe mu bidaciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah. Nimwahazana ku ngingo y’ikintu ico ari co cose, muraca mugaruka ku ngingo iri mu Gitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa nimwaba mwemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo, ni vyo vyiza cane kuri mwebwe ha guhazana, ni na yo ngingo ibereye ha kwisunga ivyiyumviro vyanyu mu gufata ingingo."},{"id":60,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’indyarya zibwira ko zemeye ivyo wamanuriwe muri Qor’ani n’ivyamanuriwe Intumwa zo hambere yawe, zigashaka guca imanza zisunze ingingo zishingiye ku bintazi n’ikinyoma, kandi zaramaze gutegekwa kubigarariza, shetani na yo igashaka kuzihubisha uguhuba kuri kure cane y’ukuri[17];","footnotes":"[17] Iyi Aayah, irerekana ko ukwemera nya kwemera gutuma umuntu yubahiriza ingingo y’Imana Allah, akayisunga mu gutunganiriza abantu muri vyose. Uwo wese rero, yibwira ko yemera vy’ukuri, hanyuma agahitamwo kwubahiriza ingingo y’ibintazi n’ikinyoma, aba ari indyarya mu kwemera kwiwe."},{"id":61,"translation":"Iyo zihanuwe ziti: “Nimuze mwubahirize ivyamanuwe n’Imana Allah, muheze mukurikire Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)”, ubona zikwirengagije nya kwirengagiza;"},{"id":62,"translation":"Mbega none bizozigendera gute igihe zashikiwe n’ikiza gitewe n’ivyo zakoze ubwazo nyene, hanyuma zikaza kukwisigurako zirahira kw’izina ry’Imana Allah, ziti: “Nta co twashaka gushikako mu vyo twagize, kiretse ubugwaneza no kunywanisha abatase”,"},{"id":63,"translation":"Izo ndyarya, Imana Allah Irazi neza ukuri kw’ibiri mu mishaha yazo mu buryarya. Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uzirengagize, maze uziburire ku ngaruka mbi z’ivyo zikora, wongere uzibwire ijambo ry’inkoramutima ryo kuzihaniza."},{"id":64,"translation":"Nta Ntumwa n’imwe Twarungitse atari ukugira ngo yumvirwe ku bubasha n’ubutungane bw’Imana Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero abirenganije mu gukora ivyaha baza bakugana - ukiriho - kugira bigaye, baheze basabe Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo, maze Intumwa na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah, bari gusanga Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":65,"translation":"Ihibambewe! Ndarahiye kw’Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, ko bataremera vy’ukuri, batabanje kukugira umucamanza mu matati yaduka hagati yabo, hanyuma ntibasigarane akangonongono mu mitima yabo ku ngingo washikirije, baheze bayemere nk’uko wayishikirije ata guhigimanga[18].","footnotes":"[18] Burya ukwubahiriza no gukurikiza ingingo zisunga Qor’ani n’inyigisho z’intumwa muri vyose bijanye n’ubuzima, ni mu bigize umushinge wo kwemera."},{"id":66,"translation":"Iyo rero Tuja gutegeka izo ndyarya zisunga ingingo zishingiye ku bintazi n’ikinyoma, Duti: “Nimwicane hagati yanyu, canke musohoke mu zanyu mwimuke”, ntizari kuvyubahiriza kiretse abari ku rushi muri zo. Iyo zubahiriza ivyo zihanurwa, vyari kuzigirira akamaro cane, ni ukuri vyari no gutsimbataza ukwemera kwazo;"},{"id":67,"translation":"Ni ukuri, muri ico gihe Twari no kuziha mu buzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, indishi zihambaye zivuye iwacu Twebwe Allah;"},{"id":68,"translation":"Ni ukuri, Twari no kuzirongora mu nzira igororotse, Tukazishoboza kuyikurikira."},{"id":69,"translation":"Uwo wese rero yumviye Imana Allah, akubahiriza amabwirizwa yayo n’inyigisho z’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), azoba ari mu bantu bubashwe ku Mana Allah, bari kumwe n’abo Imana Allah Yahaye inema y’Ubwami bw’ijuru mu Bavugishwamana, imvugakuri, abapfiriye Imana Allah hamwe rero n’aberanda mu bemeramana, ni na bo beza mu bagenzi bo mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":70,"translation":"Iyo ni yo ngabirano ihambaye ivuye ku Mana Allah. Burya Imana Allah Irakwiye kuba Izi neza ibikorwa vy’ibiremwa n’indishi ikwiye umwe wese muri vyo."},{"id":71,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimwiyubare umwansi wanyu mu kumwitegurira bikwiye, muheze muje kumurwanya muri mu migwimigwi canke muri hamwe mwese;"},{"id":72,"translation":"Ni ukuri, muri mwebwe harimwo uwunebwa mu kutava hasi ngo aje kurwanya umwansi, akanaburagiza n’abandi kujayo. Iyo bishitse mukicwa canke mukaneshwa, araheza akavuga yiruhutsa n’umunezero n’akantu ati: “Ashii! Ni ukuri, Imana Allah Yarankingiye kuba ntari kumwe na bo ku rugamba”;"},{"id":73,"translation":"Iyo naho muronse impano zivuye ku Mana Allah, mugatsinda mukanaronka iminyago, ni ukuri ashoka avuga yicuza n’ishari n’akantu nk’aho ata rukundo rwari ruri hagati yanyu na we, ati: “Ewe jewe wanje! Ese iyo nja kuba ndi kumwe na bo ku rugamba, ngaheza nkarusimba, maze nkanaronka no ku minyago”."},{"id":74,"translation":"Abiguze ubuzima bw’inyuma yo gupfa ha guhurumbira ubwo kw’isi, nibaharanire nyabuna idini ry’Imana Allah. Uwo wese rero aharaniye idini ry’Imana Allah azirikana indishi kuri Yo, maze akicwa canke agatsinda, Tuzoheza Tumuhe indishi ihambaye."},{"id":75,"translation":"Bemeramana! Mbega mubuzwa n’iki guharanira idini ry’Imana Allah, no gutabara abacinyizwa ku karenganyo badashoboye kwirwanako, mu bagabo, abakenyezi n’abana, batakambira Imana Allah bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri iki gisagara c’i Makka, bene co barangwa n’akarenganyo ko kugarariza no kubangamira abemeramana, maze Uduhe umuhagarikizi avuye iwawe adutunganirize ivyacu, Uduhe n’umutabazi avuye iwawe aturenganure”."},{"id":76,"translation":"Abemeye Imana Allah vy’ukuri, baharanira idini ry’Imana Allah mu gushimangira ukuri. Nayo abagararije Imana Allah, baharanira ibintazi n’ikinyoma mu ntumbero yo gukwiragiza ubwononyi kw’isi. Kubera ivyo rero ga bemeramana! Nimurwanye abahagarikizi ba shetani mu bagarariji n’ababangikanyamana, mu vy’ukuri, ugukoresha urwenge kwa shetani mu gukwiragiza ubwononyi bw’abahagarikizi bayo, ntikurama."},{"id":77,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’ababwiwe imbere yo gutegekwa guhangana ku rugamba, bati: “Nimusubize inkota mu rwubati, mureke kurwanya ababangikanyamana, maze mutsimbataze amasengesho munatange n’ishikanwa-bwirizwa”. Aho bategekewe guhangana ku rugamba, haciye hibonekeza umugwi muri bo, utinya abantu nka kurya utinya Imana Allah canke gusumba uko uyitinya, uranavuga n’ishavu n’akantu uti: “Mana yacu Rurema Allah! Ni kuki Wadutegetse guhangana ku rugamba, ntiwari gupfuma Utenyenya gato, tukaba turaryoherwa n’ivy’isi!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ukuryoherwa n’ivy’isi, ni umwanya muto, nayo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo burimwo ivyiza bihambaye ku wutinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kandi rero ntimuzorenganywa na gato ku co mwakoze, n’aho coba kingana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende”;"},{"id":78,"translation":"Aho muzoba muri hose rero, nta kibuza ko hageze gupfa, urupfu ruzobashikira mugapfa, n’aho muzoba muri mu nyubakwa-ntamenwa ziri kure y’ahabera urugamba. Iyo baronse ivyiza baremanga ko berewe bati: “Ibi bivuye ku Mana Allah”. Ntumwa y’Imana! Iyo naho bashikiwe n’ivyago baca bagutako umwikomo n’ishavu n’akantu bati: “Ibi biturutse kuri wewe”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ivyiza n’ivyago, vyose bituruka kw’ishirwa mu ngiro ry’ivyagezwe n’Imana Allah”. Ntumwa y’Imana! Mbega abo bantu bafashwe n’iki ko batarota batahura ivyo ubabwira!"},{"id":79,"translation":"Muntu! Ivyiza ivyo ari vyo vyose uronse, biba bivuye ku Mana Allah. Ivyago na vyo bigushikiye, biba biturutse ku ngaruka y’ibikorwa vyawe bibi. Ntumwa y’Imana! Twakurungitse rero kugira ube Intumwa ku bantu bose, kandi rero burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Cabonakurivyose Yemeza ko washikirije vy’ukuri ubutumwa."},{"id":80,"translation":"Uwo wese yumviye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) agakurikiza n’inyigisho zayo, ni ukuri aba yumviye Imana Allah, yubahirije n’amabwirizwa yayo. Nayo uwirengagije kwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, namenye ko wewe Tutakurungitse kugenzura no kubungabunga ibikorwa vy’abirengagiza ngo ubibahanire;"},{"id":81,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abirengagiza ukuri iyo bari kumwe na we, bavuga mu bwiyorobetsi bati: “Turumvira Intumwa tukubahiriza n’inyigisho zayo”; mwamara kuvana, umugwi muri bo ukarara urategura imigambi mibi ihushanye n’ivyo bavuga, ntibamenye ko burya Imana Allah Yandika imigambi mibi yose bategura, Ikazonayibahanira. Ntumwa y’Imana! Birengagize uheze wishimikize Imana Allah, uyizere, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi wawe, Agukingira imigambi yabo mibi;"},{"id":82,"translation":"Mbega none abirengagiza kwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntibotegera Qor’ani ngo banyurwe n’ivyemezo vyayo vyerekana ko yavuye ku Mana Allah! Iyo Qor’ani iza kuba yavuye ahatari ku Mana Allah, ni ukuri bari kuyisangamwo amahinyu n’ibihushane vyinshi;"},{"id":83,"translation":"Iyo bashikiriwe n’inkuru yerekeye umutekano, yategerezwa kuguma mw’ibanga ku neza y’ubwislamu, canke yerekeye ihungabana ry’imitima riturutse ku bwoba, baca bayikwiragiza mu bantu. Iyo babanza gushikana nya nkuru ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) no ku ndongozi mu ncabwenge muri bo, abasesanguzi muri bo bari kumenya ukuri kw’iyo nkuru. Bemeramana! Iyo rero mutagira impano n’impuhwe bivuye ku Mana Allah, mwari gukurikira inzira n’inyoshambi za shetani kiretse bake muri mwebwe."},{"id":84,"translation":"Muvugishwamana! Rwanira rero idini ry’Imana Allah n’aho vyoshika ugasigara uri wenyene, ntuzobazwa kiretse ku vyo wakoze ku gatwe kawe. Uraheza kandi uhimirize n’abemeramana guharanira idini ry’Imana Allah, kumbure Imana Allah Izohagarika ukwiganza kw’abagarariji. Burya Imana Allah Irahambaye mu guhana kwayo, Irahana Igahasha."},{"id":85,"translation":"Uwo wese avugiye uwundi ku ciza kimwungura, aronka indishi nziza kuri iryo vugira ryiwe. Nayo uwuvugiye uwundi ku kibi gitera ingaruka mbi, na we nyene yandikirwa ivyaha kuri iryo vugira ryiwe. Burya Imana Allah Yamye ari Yo Mugabuzi Ibeshaho abaja bayo, Mubungabunzi w’ibikorwa vyabo."},{"id":86,"translation":"Bemeramana! Nimwaramutswa n’umwislamu indamutso y’amahoro, murayishurana akamwemwe n’indamutso nziza kurusha, canke muyisubize nk’uko mwaramukijwe, kimwe cose muri ivyo kirafise indishi yaco. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Yo Mureretsi Iharurira Igahembera abaja bayo ivyo bakoze."},{"id":87,"translation":"Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni ukuri Izobegeraniriza hamwe ku musi w’izuka ata amakenga ko utegerezwa gushika, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo mwakoze. Nta n’umwe yoba imvugakuri gusumba Imana Allah mu vyo Yashikirije."},{"id":88,"translation":"Bemeremana! Mbega mwafashwe n’iki ku kwicamwo imigwi ibiri ku vyerekeye indyarya, umugwi ushigikiye ko zirwanywa n’uwundi utabishigikiye, mu gihe Imana Allah Yamaze kuzikurako amaboko mu buhuvyi zirimwo bitewe n’ibikorwa vyazo bibi! Mbega none mushaka kurongora abo Imana Allah Yakuyeko amaboko bagahuba! Burya uwugabitaniye Imana Allah, maze Ikamukurako amaboko mu buhuvyi arimwo, ntuzokwigera umuronkera inzira imurongora mu kuri."},{"id":89,"translation":"Bemeramana! Indyarya zarabipfurije ko mwogarariza mu bwiyorobetsi mukaba nkazo. Ntimukagire muri zo rero abagenzi somambike mucuditse, gushika zibanze zimuke ku bw’Imana Allah mu kwerekana ko zemera vy’ukuri. Nizagenza umugongo ntizimuke, muraheza muzifate aho ziri hose muzice, kandi ntimuzohirahire ngo mugire n’imwe muri zo umuhagarikizi canke umutabazi wanyu;"},{"id":90,"translation":"Ariko rero, abantu bafitaniye imigenderanire na zo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, canke abanse kubarwanya mwebwe canke kurwanya benewabo, bagashoka baza babagana batagira aho begamiye, abo ntimuzobarwanye. Iyo rero Imana Allah Ishaka, ni ukuri Yari kubagerageza mu kubagomora mu ndwano, maze bakabarwanya bafadikanije n’abansi banyu mu babangikanyamana, ariko rero ntiyabigize ku mpuhwe zayo. Nibaramuka baretse kubarwanya rero bakaza bishikanye, aho nta burenganzira Imana Allah Yabahaye bwo kubarwanya."},{"id":91,"translation":"Muzohura n’uwundi mugwi mu ndyarya ushaka ko mwowuha amahoro, gutyo ubagaragarize ukwemera mu bwiyorobetsi, wongere ushake ko n’ababangikanyamana bawuha amahoro, gutyo ubagaragarize ubugarariji; igihe cose rero uwo mugwi ushizwe mw’igeragezwa ry’ubugarariji, uzorirwamwo neza cane. Uwo mugwi w’indyarya rero, nutareka kubavogera ugatako ukishikana, ukanavavanura no kubarwanya, murawufata aho muzowusanga hose muwice. Uwo mugwi w’abantu barangwa n’ububi nk’ubwo rero, Twaramaze kubaha mwebwe icemezo kigaragara co kubarwanya no kubagira imbohe."},{"id":92,"translation":"Nta ho vyakabaye ko umwemeramana yica uwundi mwemeramana atabifitiye uburenganzira, kiretse mu gihe bishitse akamwica ku mpanuka. Umwemeramana wese rero, yishe umwemeramana ku mpanuka, ahanishwa uguha ubwigenge umugurano w’umwemeramana hamwe no guha agashumbusho gategekanirijwe benewabo n’uwishwe, kiretse mu gihe bogaheba bakagatanga imperezwa. Haramutse hishwe ku mpanuka umuntu mu bansi banyu, yari umwemeramana, uwamwishe ahanishwa uguha ubwigenge umugurano w’umwemeramana. Haramutse hishwe umuntu mu bo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, uwamwishe ahanishwa uguha agashumbusho gategekanirijwe benewabo, hamwe rero no guha ubwigenge umugurano w’umwemeramana; uwudashoboye guha ubwigenge umugurano w’umwemeramana, icuhagizo ciwe, ni ugupfunga amezi abiri akurikirana, kugira Imana Allah Imwakirire ukwigaya kwiwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":93,"translation":"Uwo wese rero yishe n’ibigira nkana umwemeramana ata kibimurekurira, azohanishwa umuriro wa Jahannamu awubemwo ibihe bidahera [19], ugushavurirwa n’Imana Allah, hamwe rero no kuvumwa akiri kw’isi, vyongeye Imana Allah Yaranamutegekanirije n’ibindi bihano bihambaye.","footnotes":"[19] Kiretse mu gihe yokwigaya ukuri kw’ukwigaya atarapfa, kandi Imana Allah ntizohanisha ibigaba mu bemeramana umuriro wa Jahannamu ngo bawubemwo ibihe bidahera, ariko Izowubahanisha hanyuma ku mpuhwe zayo Iheze Ibatezurire."},{"id":94,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwafata inzira mugiye guharanira idini ry’Imana Allah, muritondera ivyo mukora n’ivyo mudakora muheze mutohoze neza, ntimuzohakane ukwemera kw’uwubaramukije indamutso y’amahoro atabarwanya ngo mumubwire muti: “Nturi umwislamu!”, kumbure yoba ari umwislamu anyegeza ukwemera kwiwe, ivyo mukabikora murondera kuronka ivy’isi bihera, burya ku Mana Allah ni ho hari ingabirano nyinshi zibakwiye. Ni nk’uko nyene na mwebwe mwanyegeza ukwemera kwanyu mu ntango y’ubwislamu, hanyuma Imana Allah Ibatera ingoga muraserura ukwemera kwanyu ata co mwinona. Ni kuri izo mvo rero, mwokwitondera ivyo mukora, maze mukabanza gutohoza. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera."},{"id":95,"translation":"Abataja ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah ata bituma bibarekurira gusiba[20], ntibashobora kunganya indishi n’abaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo. Abaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, Imana Allah Yabahaye ingabirano n’icubahiro co hejuru mu Bwami bw’ijuru, gisumba ic’abataja ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah ata gituma kihari co gusiba. N’aho biri ukwo rero, umugwi wose muri iyo migwi ibiri, Imana Allah Yarawutegekanirije indishi nziza y’Ubwami bw’ijuru. Imana Allah Yaranahaye abaja ku rugamba rwo guharanira idini ryayo indishi ihambaye isumba iy’abatarujako;","footnotes":"[20] Nk’indwara n’ubumuga."},{"id":96,"translation":"Iyo ndishi ihambaye, igizwe n’ivyubahiro vyo hejuru bazohabwa mu Bwami bw’ijuru, hakurikijwe urugero rw’icubahiro c’umwe wese mu baja ku rugamba, hiyongeyeko ukugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, hamwe rero no kugirirwa impuhwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku wigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo baja ku rugamba."},{"id":97,"translation":"Mu vy’ukuri, abicwa n’abamalayika, bakaba barirenganije ku kutimukira aho batekanirwa mw’idini, nibazuka, bazobazwa n’abamalayika n’agasuzuguro n’akantu bati: “Mwabayeho gute mw’idini ryanyu?”. Na bo bazokwishura bigovyora bati: “Twari dufise ingoga nke kw’isi, ntitwari dushoboye kwirwanako”. Abamalayika na bo bati: “Mbega isi y’Imana Allah, ntiyari yagutse, ku buryo mwari kwimukira ahandi kw’isi mugaheza mugatekanirwa, mukidegemvya mw’idini ryanyu!”. Abo rero, ni bo ubushikiro bwabo ari mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane;"},{"id":98,"translation":"Kiretse abari bafise ingoga nke ku mvo z’ubusaza mu bagabo no mu bakenyezi, hamwe rero n’abana badashoboye kwirwanako, batazi n’inzira bofata ibakura mu karenganyo barimwo;"},{"id":99,"translation":"Abo rero badashoboye kwirwanako, kumbure Imana Allah Izobaharira ibicumuro vyabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere."},{"id":100,"translation":"Uwo wese rero yimukiye aho atekanirwa akidegemvya mw’idini ku bw’Imana Allah, arondera guharanira idini ryayo, azoronka ukwishira n’ukwizana kw’isi, yoroherwe no mu buzima. Uwo wese avuye mu rwiwe afise intumbero yo guharanira Imana Allah n’Intumwa yayo, hanyuma agashikirwa n’urupfu atarashika iyo yimukira, ni ukuri Imana Allah Izoba Yamaze kumwandikira indishi ikwiye y’ukwimuka. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":101,"translation":"Bemeramana! Nimwaramuka mufashe urugendo rero, nta caha kuri mwebwe kiri mu kugabanya[21] ivyunamo vy’isengesho, mu gihe mwotinya ko abansi banyu bobaca mu ryahumye bakabatera muri mw’isengesho[22]. Mu vy’ukuri, abagarariji bamye ari abansi banyu babagaragariza urwanko, nimubiyubare rero.","footnotes":"[21] Ukugabanya igitigiri c’ivyunamo vy’isengesho kurarekuwe mu gihe umuntu ari ku rugendo, haba mu gihe abantu batekanye mu zabo canke mu gihe hari imvo zituma batekerwa n’ubwoba.\n[22] Mu ntango y’ubwislamu, ingendo zagirwa n’abemeramana zari ziteye ubwoba budasanzwe kuko bahigwa buhongo."},{"id":102,"translation":"Muvugishwamana! Mu gihe uri kumwe n’ingendanyi ku rugamba, maze ugashaka kuzisengesha, umugwi umwe muri zo urahaguruka uheze uwusengeshe, maze ugumane ibirwanisho vyawo; uwo mugwi niwubama, uwundi mugwi utariko urasenga, uraca uguma urikanuye, maze uhagarare inyuma yanyu, ubacungerereye umutekano, gutyo wa mugwi wa mbere ubandanye gusenga icunamo kigira kabiri, uheze unasozere isengesho hanyuma uramutse. Hace haza wa mugwi wa kabiri utarasenga, ugusange ukiri mu cunamo ca kabiri, ushoke uwusengesha icunamo cawo ca mbere, uheze usozere uramutse ukwijije icunamo cawe kigira kabiri, hanyuma uwo mugwi ubandanye gusenga icunamo kigira kabiri, maze wiyubare umwansi wawo, uheze ugumane ibirwanisho vyawo. Abagararije baripfuje ko mwogotwa na gato mugashira ibirwanisho n’ibikoresho vyanyu hasi, bagaca babaca mu ryahumye bakabatera igitero sindamusiga. Nta caha rero kuri mwebwe co gushira ibirwanisho hasi, mu gihe hoba hari ibibabangamiye nk’imvura canke indwara, mu gihe mwokwama mugavye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yarategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza;"},{"id":103,"translation":"Nimwaheza gusenga rero, murashishikara muninahaza Imana Allah muyitazira uko muzoba muri kwose, muhagaze, mwicaye no mu gihe mukitse urubavu. Nimwatekana urugamba ruheze, muraheza musenge isengesho rikwije ivyunamo, muryitwararike. Mu vy’ukuri, isengesho ku bemeramana ryamye ritegetswe gusengwa ku mwanya ryagenewe;"},{"id":104,"translation":"Ntimugacike intege mu gukurikirana no mu kurwanya abansi banyu. Nimwaba mubabazwa n’indwano n’inkurikizi zayo, nimumenye ko mu vy’ukuri n’abansi banyu bababazwa n’indwano n’inkurikizi zayo; nk’uko bibababaza na mwe, mu gihe mwizeye ku Mana Allah indishi n’intsinzi bobo batizeye, burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":105,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo ukuri kuzima, kugira utunganirize abantu bose ku vyo wahishuriwe ukerekwa n’Imana Allah, ntugakingire na gato rero abantu bihemukira mu kunyegeza ukuri;"},{"id":106,"translation":"Uraheza unasabe Imana Allah imbabazi mu bihe vyose. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":107,"translation":"Ntuzonakingire mu kuvugira abihemukiye mu gucumura ku Mana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba umuhemu karuhariwe akaba n’umucumuzi ruhebwa;"},{"id":108,"translation":"Bariherera bakinyegeza bagahisha abantu ibibi bakora, kandi badashoboye kwinyegeza Imana Allah ngo ivyo bakora bibatere isoni, mu gihe Iba Iri kumwe na bo ku bumenyi bwayo iyo barara barategurira ibitayishimisha mu majambo. Burya Imana Allah mu bumenyi bwayo, Yamye Ikikuje ivyo bavuga n’ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera."},{"id":109,"translation":"Ehe mwebwe abemeramana mwarubahutse gukingira mu kuvugira abihemukiye mu buzima bwo kw’isi, none ni nde azobakingira mu kubavugira ku Mana Allah ku musi w’izuka nibaharurirwa, canke ni nde azobabera umuhagarikizi kuri uwo musi!"},{"id":110,"translation":"Uwo wese rero, azorondera gukora ikibi canke akirenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, hanyuma akicuza ku vyo yakoze akagaruka ku Mana Allah, akayisaba ko Imugumiriza akabanga ku vyaha vyiwe, ntibimuhanire, azosanga Imana Allah ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":111,"translation":"Uwo wese azocumura n’ibigirankana, ni ukuri azohanirwa nya gicumuro ku gatwe kiwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":112,"translation":"Uwo wese azocumura ku kwihenda, canke agakora icaha n’ibigirankana, hanyuma akavyegeka ku wundi ku kadenderezo, ni ukuri azoba yiremetse irementanya rutura risiga ubwenge kandi rihanwa."},{"id":113,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo hataba impano n’impuhwe z’Imana Allah mu kukugira Umuvugishwamana, Igaheza Ikanagukingira, mu bihemukiye hari kuvamwo umugwi wita ku rutare kugira ngo uguhubishe inzira y’ukuri, kira noneho uwo mugwi nta n’uwo wari guhubisha kiretse ukwihubisha wo wonyene, eka nta n’ico wokwiciye kuko wewe ukingiwe, kira noneho Imana Allah Yaranakumanuriye Igitabu ca Qor’ani, Iguha inyigisho n’imigenzo biyitomora, maze Ikwigisha n’ivyo utari uzi. Burya impano z’Imana Allah Yakugeneye zamye zihambaye."},{"id":114,"translation":"Nta neza iri mu biyago abantu bagirira mu bwongoshwe, kiretse mu gihe nya biyago vyoba bitegeka gutanga imperezwa, canke gukora iciza, canke kunywanisha abatase mu bantu. Uwo wese rero azogira ico akoze muri ivyo, arondera indishi no gushimwa n’Imana Allah, namenye ko Twebwe Allah Tuzoheza Tukamuha indishi ihambaye kandi ishimishije."},{"id":115,"translation":"Uwo wese azoca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho amariye gutomokerwa n’ukuri, maze agakurikira inzira itari iy’abemeramana, Twebwe Allah Tuzoheza Tumurekere ku vyo yatumbereye, ntituzomushoboza kubona ukuri, Duheze Tunamwinjize mu muriro wa Jahannamu awote, ni na yo maherezo mabi cane."},{"id":116,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ngo Ibabarire icaha co kuyibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa, canke kuyigarariza mu buryo ubwo ari bwo bwose buciye kubiri n’ukwemera, mu gihe uwagikoze yopfa atarigaya. Imana Allah Igumiriza akabanga, Ikababarira ibindi vyaha n’ibicumuro bitari ivyo ku wo Ishatse mu biremwa. Uwo wese rero abangikanije Imana Allah n’ikindi kintu, aba yahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri."},{"id":117,"translation":"Ababangikanyamana ntibiyegereza mu vyo bakora mu gusenga ibitari Imana Allah, kiretse ibigirwamana ata co vyungura uwubisenga, ata n’ico vyicira uwuretse kubisenga, burya ntibasenga kiretse shetani yagararije Imana Allah ikimonogoza;"},{"id":118,"translation":"Irakavumwa n’Imana Allah. Shetani yarinamuye n’agahigihigi n’akantu iti: “Ni ukuri nzokwigirira mu biremwa vyawe umugwi uzwi, maze ndawuryohereze mu mvugo n’ingiro;"},{"id":119,"translation":"Ni ukuri, abazonkurikira muri bo nzobahubisha inzira y’ukuri; ni ukuri nzobaha n’umwizero w’ikinyoma; ni ukuri nzonabararikira guca no gutobora amatwi y’ibitungwa; ni ukuri nzonabararikira guhindura indemo n’ubwiza-ndemanwa bahawe n’Imana Allah”. Uwo wese rero azokwumvira shetani akayikurikira, akayigira umuhagarikizi wiwe yirengagije Imana Allah, ni ukuri azoba yahomvye uruhombo rugaragara."},{"id":120,"translation":"Shetani iraheza igaha abayikurikira isezerano n’umwizero vy’ikinyoma, kanatsinda ntiyigera ibaha isezerano kiretse isezerano ry’uruhendo."},{"id":121,"translation":"Abazokurikira shetani, ni bo rero ubushikiro bwabo ari mu muriro wa Jahannamu, nta n’ubuhungiro bazoronka bwo kuwuvamwo."},{"id":122,"translation":"Nayo abemeye vy’ukuri Imana Allah bakanakora ivyiza bitegetswe, Tuzobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa n’ibiti vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho, ni ryo sezerano ry’ukuri ry’Imana Allah. Nta n’umwe rero yoba imvugakuri mu gushitsa isezerano, yoza aruta Imana Allah;"},{"id":123,"translation":"Iyo mpano ihambaye y’Ubwami bw’ijuru rero, ntimuzoyishikako ku kwipfuza kwanyu mwebwe abislamu, canke ku kwipfuza kw’abahawe Igitabu, kudashingiye ku kwemera vy’ukuri no ku gukora ibishimisha Imana Allah. Nyabuna uwo wese azokora ikibi, azogihemberwa maze agihanirwe, nta n’umuhagarikizi azoronka atari Imana Allah amukura mu bihano, eka nta n’umutabazi azoronka abimukingira;"},{"id":124,"translation":"N’uwo wese nyene azokora ivyiza bitegetswe, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera Imana Allah n’Intumwa yayo, uyo rero ni we azoba ari mu bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze, n’aho koba akantu kanzunya, kangana n’agahere kari ku mugongo w’urutete rw’itende."},{"id":125,"translation":"Nta n’umwe yubahiriza idini ryiza yoza arusha uwicisha bugufi, agatumbera wese muzima Imana Allah, akaba ari n’umugwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanakurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, gushingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Burya Imana Allah Yaramaze kugira Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) umukunzi w’intore[23] mu biremwa vyose.","footnotes":"[23] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ikunda Ikanahitamwo abakunzi b’intore mu bantu. Urwo ni rwo rukundo ruhanitse rwose."},{"id":126,"translation":"Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Burya Imana Allah mu bumenyi bwayo Yamye Ikikuje ibintu vyose, nta kiyinyegeje muri vyo."},{"id":127,"translation":"Muvugishwamana! Abantu barakubaza ibibadidaniye ku bijanye n’ingingo zerekeye abakenyezi, babwire ko Imana Allah Ibatomorera ingingo zerekeye abo bakenyezi, n’ingingo musomerwa mu Gitabu zerekeye impfuvyikazi mudahereza ivyo Imana Allah Yazigeneye mu nkwano n’ibisigi, no mu bindi bijanye n’agateka kazo, mugaheza mukipfuza kuzabira, Iranabatomorera ingingo zerekeye abatishoboye mu bana b’abahungu, hamwe rero n’ukuntu mwotunganiriza impfuvyi, ata kuzirenganya mu kutubahiriza agateka kazo. Ico ari co cose rero mugize mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Izokibahembera."},{"id":128,"translation":"Umukenyezi na we, niyatinya ko umugabo wiwe yokwiganza agahava amuhunga, canke akamwirengagiza, nta caha kuri bompi kiri mu kwumvikana gusubiza hamwe, mu gihe umukenyezi yokwemera guheba umusi wo kumutahira, canke bimwe mu vyo yari agenewe, kugira ntibahukane. Ukwumvikana rero gutuma babandanya kubana, ni vyiza cane gusumba ukwahukana, imitima y’abantu na yo burya yaremwe ari ingumyi nta co yikura. Nimwaramuka rero mubanye n’abakenyezi banyu mu bugwaneza, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo ajanye no kwubaka zikaguma, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera."},{"id":129,"translation":"Bagabo mwubatse izanyu! Ntimuzoshobora gutunganiriza abakenyezi banyu mu rukundo mu buryo bungana n’aho mwovyitwararika, kubera ivyo rero, ntimukirengagize burundu uwo mudahurumbira cane muri bo mu rukundo ngo mumugire intabwa, maze abe nk’uwumanitswe ku gati atabiriwe atahukanye, gutyo mucumure ku Mana Allah. Nimwatunganya ibikorwa vyanyu maze mukagaburira abakenyezi banyu ibibabeshaho bingana ata nkunzi, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kuntu mubanye, bizoba bikwiye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":130,"translation":"Umugabo n’umukenyezi wiwe nibaramuka bahukanye, Imana Allah Izoheza Ikenure umwe wese muri bo mu kumuronsa ibimubeshaho, burya Imana Allah Yamye ari Nyenimpano-ntangere, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":131,"translation":"Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye iragi abahawe Igitabu aho hambere yanyu, hamwe na mwe nyene mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), iragi ry’uko mutinya Imana Imwe Rudende Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nimwagarariza mugahakana mwivuye inyuma Imana Allah n’amabwirizwa yayo, muramenya ko Imana Allah ari Uwikenuye; kuko ari Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, nta co Ikeneye kuri vyo kuko Yikwije muri vyose. Burya Imana Allah Yamye ari Uwikenuye, Nyenugushimwa;"},{"id":132,"translation":"Burya Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi-Rutunganya, Itunganiriza ibiremwa;"},{"id":133,"translation":"Bantu! Imana Allah rero Yoshaka Yobahonya mwese, Igaheza Ikarema ibindi biremwa bitari mwebwe. Ivyo kandi rero, Imana Allah Yamye Ibishoboye."},{"id":134,"translation":"Bantu! Muri mwebwe rero, uwushaka indishi yo mu buzima bwo kw’isi, maze akirengagiza indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, namenye ko ku Mana Allah gusa ari ho hari indishi yo mu buzima bwo kw’isi n’iyo mu bw’inyuma yo gupfa, aheze rero ayisabe ivyiza vyo muri ubwo buzima bwompi. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, Izonabibahembera."},{"id":135,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimuhagarikire ubutungane maze mube ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah, n’aho vyoshika mukiyagiriza canke mukagiriza abavyeyi banyu n’abavandimwe banyu. Uko uwagirizwa azoba ari kwose, yaba umutunzi canke umukene, burya Imana Allah ni Yo Ishinzwe kumenya ineza y’umwe wese muri bo. Kubera ivyo rero, ntimugakurikire ivyipfuzo n’akagagazo vyanyu ngo bibabuze gutunganiriza abantu. Mu gihe mwokebanya ukuri mu majambo, mukaba ivyabona vy’ikinyoma, canke mukirengagiza gushikiriza ukuri muzi canke mukakunyegeza, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera."},{"id":136,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimushishikare mwemera Imana Allah, Intumwa yayo Mahamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe zayo), Igitabu cayo ca Qor’ani Yamanuriye Intumwa yayo, hamwe rero n’ibindi Bitabu Yamanuriye izindi Ntumwa. Uwo wese rero azogarariza agahakana yivuye inyuma Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, hamwe rero n’umusi w’iherezo, ni ukuri azoba yarahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri."},{"id":137,"translation":"Mu vy’ukuri, abinjiye mu ruhongore rw’ukwemera Imana Allah, hanyuma bakaruvamwo bagasubira mu bugarariji, mu nyuma bakagaruka mu ruhongore rw’ukwemera Imana Allah, hanyuma bagasubira kandi mu bugarariji, hanyuma bagashishikara mu bugarariji bagatsimbatara, ntivyari gushika ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ngo Ibababarire, eka ntivyari no gushika ko Ibarongora mu nzira igororotse yotuma badahanwa."},{"id":138,"translation":"Ntumwa y’Imana! Shikiriza indyarya inkuru y’incamugongo ko zategekanirijwe ibihano bibabaza;"},{"id":139,"translation":"Indyarya, ni barya bagira mu bagarariji abagenzi somambike bacuditse babahagarariye bakirengagiza abemeramana. Mbega none ivyo babigira babaronderako icubahiro no gukingirwa! Ico bakwiye kumenya ni uko mu vy’ukuri icubahiro no gukingirwa vyose biva ku Mana Allah."},{"id":140,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Yaramaze kubamanurira mu Gitabu cayo Qor’ani, ko mu gihe mwumvise igarariza n’itebura kuri Aayah n’ivyemezo vyayo, mutobandanya mwicaranye n’abo bagarariji babiteburako, kiretse mu gihe botandukira ibindi biganiro bitagiramwo igarariza n’itebura kuri Aayah n’ivyemezo vyayo. Bitagenze ukwo, ni ukuri muzoba muri nkabo muri iryo garariza n’itebura, muzohanwa kumwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah Izokwegeraniriza hamwe indyarya n’abagarariji bose mu muriro wa Jahannamu."},{"id":141,"translation":"Bemeramana! Indyarya kandi, ni barya babatega imisi barindiriye ko mushikirwa n’igeragezwa n’indwano. Iyo rero Imana Allah Ibahaye mugatsinda ku rugamba mukanaronka n’iminyago, baca bababwira babaryosharyosha bati: “Ntitwari kumwe na mwe ku rugamba tubafata mu mugongo!”. Iyo naho abagarariji bagize ngo baratsinze canke ngo bararonse iminyago, baca babikundwakazako bati: “Ntitwabateye inkunga, tukabakingira abemeramana!”. Burya Imana Allah Izobacira urubanza mwebwe be na bo ku musi w’izuka, kira noneho, Imana Allah ntizokwigera Icira abagarariji inzira yo gutsinda abemeramana, kuko bitebe bitebuke iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abemeramana."},{"id":142,"translation":"Mu vy’ukuri, indyarya ziriyorobeka mu kugaragaza ukwemera zigahisha ubugarariji, zibwira ko zihenda Imana Allah, mu gihe Imana Allah na Yo Izozihembera ukwo kwiyorobeka mu kwemera, Ikazihana. Iyo rero zihagurutse ngo zije gusenga zihagurukana ubunebwe mu kwiyerekana gusa, eka mbere ntizigera zininahaza zitazira Imana Allah kiretse gake cane;"},{"id":143,"translation":"Ntizigira aho zihagaze mu kwemera, ntiziharurwa mu bemeramana eka ntizinaharurwa no mu bagarariji. Burya uwugabitanye ku Mana Allah, maze Ikamukurako amaboko mu buhuvyi arimwo, ntuzokwigera umuronkera inzira imurongora mu kuri."},{"id":144,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire mu bagarariji abagenzi somambike mucuditse babahagarikiye mwirengagije abemeramana. Mbega none mushaka muri ukwo gucudika na bo, icemezo kigaragara kibagiriza ku Mana Allah ko mutemera vy’ukuri!"},{"id":145,"translation":"Mu vy’ukuri, indyarya zizohanirwa mu nyenga y’umuriro ku musi w’izuka. Ntumwa y’Imana! Menya neza kandi ko utazokwigera uzironkera umutabazi azikingira ibihano;"},{"id":146,"translation":"Kiretse abazokwigaya muri zo, bagaheza bakagaruka ku Mana Allah, bakanatunganya ivyo bononye mu kwemera kwabo, maze bakanacudika n’abemeramana ku bw’Imana Allah, bagaheza bakeza n’idini ry’Imana Allah. Abo rero ni bo bazoba bari kumwe n’abemeramana mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kandi Imana Allah Izoheza Ihe abemeramana impembo ihambaye."},{"id":147,"translation":"Bantu! Mbega none ihanwa ryanyu hari ico ryomarira Imana Allah mu gihe mwoshima mu gutunganya ibikorwa vyanyu, mukanayemera Yo hamwe n’Intumwa yayo! Burya Imana Allah Izobahanira ivyo mwakoze. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenugushima, Ihembera igikorwa uko kingana kwose n’aho coba akantu ide, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":148,"translation":"Imana Allah ntikunda na gato ko umuntu aserura ijambo ribi, kiretse ku warenganijwe, uyo ararekuriwe guserura ububi bw’uwamurenganije kugira arenganurwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura, Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mitima yanyu."},{"id":149,"translation":"Mu gihe mwogaragaza igikorwa ciza canke mukakigirira mu mpisho, canke mukagaragaza ikibi c’uwabagiriye nabi murondera kurenganurwa, canke mukamuharira nya kibi, ari na vyo vyiza cane, muramenya ko Imana Allah Yamye ari Nyenuguhariribicumuro, Mushoboravyose."},{"id":150,"translation":"Mu vy’ukuri, abagarariza bagahakana bivuye inyuma Imana Allah n’Intumwa zayo, mu bayahudi[24] no mu banaswara[25], bagashaka kuvangura hagati y’Imana Allah n’Intumwa zayo mu kwemera Imana Allah gusa, bagahakana Intumwa zose canke zimwe muri zo, bagaheza bakinamura bati: “Twemera zimwe muri zo tugahakana izindi”, bagashaka kugira iryo vangura mu kwemera inzira n’idini ry’ubuhuvyi badukanye;","footnotes":"[24] Bemeye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe na Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).\n[25] Bemeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":151,"translation":"Abo rero, ni bo bagarariji vy’ukuri. Twaranategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza."},{"id":152,"translation":"Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo zose, batigeze banavangura n’imwe muri zo, abo ni bo rero Imana Allah Izohembera ukwemera kwabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya mu baja bayo, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":153,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abayahudi bahawe Igitabu, baragusaba ko wobereka igitangaro cemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ugaheza ukabamanurira Igitabu kivuye ku Mana Allah canditswe nka kurya kw’Imizingo yamanuriwe Intumwa Musa. Ico ntikigutangaze! Kuko ni ukuri ba sekuru barasavye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihambaye gusumba ico bagusavye, baraheza bayisaba bati: “Enda twereke Imana Allah duheze tuyibonere ukuri kwamye”, ni ho rero Imana Allah Yaca Ibahanisha umuriro ukabahitana bwa nkuba, bitewe n’ukuntu birenganije mu gusaba ivyo batarekuriwe. Mu nyuma y’aho Imana Allah Ibasubirije ubuzima, bafashe igishusho c’inyana bibumbiye, maze baragisenga, inyuma y’aho bamaze kwibonera Aayah n’ivyemezo bigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Musa ari Intumwa vy’ukuri. Bamaze kwigaya rero, Twebwe Allah Twarabahariye iryo bangikanyamana, Duha n’Intumwa Musa icemezo kigaragara cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri;"},{"id":154,"translation":"N’igihe badohoka kw’isezerano bahawe ryo kwubahiriza ibiri muri Tawurati, Twarareruye umusozi “Twuuri” hejuru yabo, Dushoka Tubabwiriza Duti: “Nimwinjire rero mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis mwubamiye Imana Allah, mwicishije bugufi”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi. Twaranababwirije kandi Duti: “Ntimurenge kw’ibwirizwa ryo kutaroba kw’isabato”, baraheza bararirengako. Twaranabahaye isezerano rihambaye bararidohokako."},{"id":155,"translation":"Abayahudi rero Twarabavumye bitewe no kutubahiriza isezerano bahawe; kugarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ukuri kw’Intumwa zayo; kwica Abavugishwamana ku karenganyo; hamwe rero no kuvuga kwabo bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwumvira”. Si nk’ukwo bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kuziba imitima yabo ku kubera igarariza ryabo. Kubera ivyo rero, ntibarota bemera kiretse gake ata co kabamariye;"},{"id":156,"translation":"Twaranabavumye bitewe kandi n’igarariza n’imvugo bavuze kuri Mariyamu mw’irementanya risiga ubwenge ko yashurashuye, mu gihe ari ikinyoma ceruye;"},{"id":157,"translation":"Hiyongeyeko ivyo bavuze ku gasuzuguro bihaya bati: “Mu vy’ukuri, twarishe Masihi Isa mwene Mariyamu, Intumwa y’Imana Allah!”. Banguha! Eka ntibigeze bamwica, eka mbere ntibigeze banamubamba ku musaraba, ahubwo babamvye umuntu yambitswe n’Imana Allah, ishusho ryiwe, baraheza bibaza ko ari we Isa. Mu vy’ukuri, abahazana [26] ku ngingo yo kwicwa kwiwe, barafise amakenga ko bamwishe koko, nta n’ubumenyi babifiseko kiretse ugukekeranya gusa. Kira noneho ntibigeze bamwica;","footnotes":"[26] Bamwe muri bo bavuga bati: “Ni we yishwe”. Abandi na bo bati: “Si we yishwe”."},{"id":158,"translation":"Ahubwo Imana Allah Yarareruye iwayo Intumwa Isa wese muzima adora, gutyo Imukiza abagarariji. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":159,"translation":"Mu bahawe Igitabu rero, nta n’umwe atazokwemera vy’ukuri Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihe yagarutse kw’isi mu bihe vy’iherezo, imbere yuko isango ryo guhwera kwayo rigera. Kandi ku musi w’izuka, Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) izobera icabona abayemeye muri bo, yagirize n’abayigararije mu kubeshuza ivyo bayirementanirije."},{"id":160,"translation":"Twaraziririje ku bayahudi ivyiza mu mfungurwa zari ziziruye kuri bo, bitewe n’ukwirenganya kwabo mu gukora ivyaha rutura, no kuburagiza abantu kenshi ko bakurikira idini ry’Imana Allah rigororotse;"},{"id":161,"translation":"Hamwe no kwihereza inyungu izira (riba) kandi mu vy’ukuri bari barayibujijwe, no kwiha kuzirura kurya amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira kandi bibujijwe. Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo muri bo, Twarabategekanirije ibihano bibabaza."},{"id":162,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ariko rero, abamenyi babushitse mu bayahudi banonosoye ingingo z’Imana Allah hamwe n’abemeramana, baremera ivyo wamanuriwe muri Qor’ani hamwe n’ivyamanuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, nka Tawurati n’Injili; bakanatsimbataza n’isengesho ku mwanya waryo; bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa; bakanemera Imana Imwe Rudende Allah hamwe n’umusi w’iherezo. Abo ni bo rero Twebwe Allah Tuzoha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":163,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twaraguhishuriye ko ushikiriza ubutumwa; nka kurya Twahishuriye Intumwa Nuhu be n’Abavugishwamana barungitswe mu nyuma zayo. Twaranahishuriye Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu be n’Intumwa rero zarungitswe mu ruvyaro rwiwe[27], Isa, Ayubu, Yunusu, Haruna na Sulaymani. Twaranahaye Dawudi Igitabu ca Zaburi[28];","footnotes":"[27] Ijambo “ASBAATW”, risigura Intumwa n’Abavugishwamana barungitswe n’Imana Allah mu ruvyaro rwa Yakubu, ari na we batazira Israyeli. Urwo ruvyaro rwa Yakubu rero, rwahavuye ruvamwo imiryango canke amoko cumi n’abiri ya Bene Israyeli.\n[28] “Zaburi”, ni Igitabu n’Imizingo vyamanuriwe Intumwa Dawudi vyanditswe"},{"id":164,"translation":"Twaranarungitse n’Intumwa Twamaze kukudondagurira ido n’ido amazina yazo, n’izindi Tutakudondaguriye ku mvo Tuzi. Imana Allah Yaranavuganye ukuri kwamye n’Intumwa Musa[29].","footnotes":"[29] Iyi Aayah, irerekana ko Imana Allah Ivuga mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, kandi ko Yavuganye n’Intumwa Musa ata muhuza aciye hagati."},{"id":165,"translation":"Jewe Allah rero Narungitse Intumwa ku biremwa, kugira zishikirize abemeramana inkuru ibahumuriza yo guhabwa Ubwami bw’ijuru, zongere zinagabishe abagarariji ku bihano vyo mu muriro, kugira ntihagire n’umwe mu biremwa aronka icitwazo co kwigobotoza ku Mana Allah inyuma y’irungikwa ry’izo Ntumwa. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":166,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nihagira rero abakugarariza, Imana Allah Izoheza Ikubere Icabona ko wewe uri Intumwa yayo Yamanuriye Qor’ani ntagatifu, Yayimanuye ku bumenyi bwayo, kira noneho n’abamalayika bazokubera ivyabona ko ivyo wahishuriwe ari ukuri. Burya Imana Allah Irakwiye ubwayo kuba Icabona."},{"id":167,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, abagararije bagahakana bivuye inyuma ko uri Intumwa y’ukuri, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, ni ukuri baramaze guhuba uguhuba kuri kure cane y’ukuri."},{"id":168,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bagaheza bakirenganya mu gushishikara ata guhesha mu bugarariji, ntivyari gushika ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ngo Ibababarire, eka ntivyari no gushika ko Ibarongora mu nzira igororotse yotuma badahanwa;"},{"id":169,"translation":"Kiretse inzira ibashikana mu muriro wa Jahannamu, bazowubamwo ibihe bidahera, mu bihano vyamaho. Kandi rero, ivyo ku Mana Allah biroroshe."},{"id":170,"translation":"Emwe bantu! Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaramaze kubazanira idini ry’ukuri ry’ubwislamu, rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, nimuyemere rero muyikurikire, bizoba ari vyo vyiza kuri mwebwe. Nimwatsimbatara kw’igarariza ryanyu, muramenya ko Imana Allah Yikwije muri vyose kuko ari Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muvuga n’ivyo mukora, Intungane mu vyo Ikora [30].","footnotes":"[30] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarungitswe ku bantu bose."},{"id":171,"translation":"Emwe bahawe Igitabu c’Injili! Ntimukarenze urugero rw’ukwemera mw’idini ryanyu, kandi ntimukavuge ku vyerekeye Imana Allah, kiretse ukuri mu kutayomekera umugore canke umwana. Ni ukuri, Masihi Isa mwene Mariyamu, ni Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri, si imana, si n’umwana w’Imana, yamuremye kw’ijambo ryayo Yarungikanye umumalayika Jibrili kwa Mariyamu Iti: “Ba”, maze bica biba ukwo, rikaba ari na ryo nkomoko y’ubuzima “Roho” yavuye ku Mana Allah, maze ku bushobozi bwayo, Jibrili ayihuhira muri Mariyamu, Isa aca aba ikiremwa gikwiye. Nimwemere rero ko Imana Allah ari Imwe Rudende mwicishe bugufi kuri Yo, mwemere n’Intumwa zayo mu vyo zabashikirije muheze muvyubahirize, kandi ntimukabangikanye Imana Allah na Isa hamwe na nyina ngo muvyite ubutatu bweranda. Nimusige aho! Nimuteshwe mute kw’iyo mvugo, bizoba ari vyo vyiza cane gusumba kuri mwebwe. Ni ukuri, Allah ni Imana Imwe Rudende, ininahazwa ni iryayo, ntikitirirwe umwana! Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi Atunganya ubuzima n’uburyo bwo kubeshaho ibiremwa."},{"id":172,"translation":"Masihi Isa, ntarota namba yanka kuba umuja w’Imana Allah, kira noneho n’abamalayika batonye ku Mana Allah, ntibarota banka kwemanga isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. Uwo wese rero muri bo, yorota yanka kwiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose, akanagira amanyama mu kutayisenga ari Imwe Rudende, nta nkeka ko Imana Allah Izobegeraniriza iwayo bose ku musi w’izuka, Iheze Ibacire urugororotse, Ihembere umwe wese ico yakoze."},{"id":173,"translation":"Abemeye rero Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, Imana Allah Izobatunganiriza bikwiye impembo y’ivyo bakoze, Iteko Ibongerereko mu mpano zayo. Nayo abanse kwumvira Imana Allah bakanagira amanyama mu kutayisenga ari Imwe Rudende, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza, nta n’umuhagarikizi bazoronka atari Imana Allah abakura mu bihano, eka nta n’umutabazi bazoronka abibakingira."},{"id":174,"translation":"Emwe bantu! Ni ukuri, icemezo co kurungikwa kw’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, caramaze kubashikira; Twaranabamanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira kibabere umuco ubagaragariza uburongozi nyabwo."},{"id":175,"translation":"Abemeye rero Imana Imwe Rudende Allah bakanagumya n’umuco bamanuriwe muri Qor’ani, Imana Allah Izobinjiza mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe n’impano zayo, Iteko Ibashoboze gukurikira inzira igororotse ibashikana ku gushimwa na Yo."},{"id":176,"translation":"Muvugishwamana! Barakubaza ku vyerekeye ibisigi vy’uwapfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi. Bishure ko Imana Allah Ibatomorera ingingo y’ivyo bisigi. Mu gihe rero umuntu yopfa atagira umwana canke umuvyeyi, akaba afise mushikiwe basangiye abavyeyi canke basangiye se gusa, uyo mushikiwe araheza agatorana igice c’ibisigi, uyo musazawe na we agatorana ibisigi vyose vya mushikiwe basangiye abavyeyi canke se gusa, mu gihe mushikiwe yopfa adasize umwana canke umuvyeyi. Mu gihe umuntu apfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi, akaba afise bashikiwe babiri, baraheza bagatorana bibiri vya gatatu vy’ibisigi. Mu gihe yoba naho afise benewabo basangiye se gusa na bashikiwe basangiye abavyeyi, benewabo baraheza bagatorana ibigwijwe na kabiri vy’ivyo bashikiwe batoranye. Imana Allah Ibatomorera uburyo bwo kugabura ibisigi, n’ingingo zerekeye igaburwa ry’ibisigi vy’uwapfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi, kugira ntimuyoberwe uburyo bwo kwubahiriza uburenganzira bw’umwe wese afise ku bisigi, kandi rero burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi iherezo ry’ibintu vyose n’ineza irimwo ku biremwa."}]},{"id":5,"verses":[{"id":1,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwubahirize amasezerano y’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu kubungabunga no gushikiriza imbitso bene zo; mwubahiriza n’amasezerano y’ubuguzi hagati yanyu, n’ay’ibindi bidaciye kubiri n’ingingo ziri mu Gitabu ca Qor’ani no mu nyigisho n’imigenzo vy’intumwa. Mwaraziruriwe gufungura inyama za bimwe mu bitungwa, na zo ni inyama y’ingamiya, iy’inka n’iy’intungwa, havuyemwo ivyo mwatomorewe n’Imana Allah ko bizira gufungurwa mu ntumvyi[1], ikiremve [2] n’ibindi, kugira uruhigi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara n’urubega, canke muri mu karere gatagatifu ka Makka. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibwiriza ivyo Ishaka mu ntumbero nziza kandi itunganye.","footnotes":"[1] Igitungwa capfuye kidakerewe mu buryo bwemewe mu bwislamu.\n[2] Ikiremve, ni ubuseri, na bwo ni amaraso y’igitungwa atetswe, yaba ari ay’icakerewe canke icarashwe kikavomwa amaraso."},{"id":2,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah no ku bimenyetso vyo kuyubaha[3]; ntimukanarwane[4] mu mezi matagatifu[5]; ntimukihe na kimwe ku mbagwa; ntimukihagire imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka; ntimukarwanye abaje bagana ingoro ntagatifu barondera impano mu vyobabeshaho bivuye ku Mana yabo Rurema Allah bikanayishimisha. Nimwamara kurekurirwa kugira ivyari bibujijwe mu gihe mwambaye urubega, muzoba murekuriwe kugira uruhigi. Urwanko mufitiye abigeze kubabuza kwinjira i Makka [6], ntiruzobabuze kubatunganiriza. Bemeramana! Muraheza rero mufashanye gukora ivyiza n’ibikorwa vy’igamburukiramana, ntimugafashanye gukora ibituma mugwa mu vyaha no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero kandi mwiyubare guca kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.","footnotes":"[3] Mu gihe c’ishengerera canke c’igendera ry’ingoro ntagatifu.\n[4] Iyi ngingo yo kutarwana muri ayo mezi matagatifu, yarubahirizwa n’imbere yuko ubwislamu buyigira ibwirizwa.\n[5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 kwa Dhu l-Qa’da, n’ukwa 12 kwa Dhu l-Hijja, n’ukwa 1 kwa Muharram, hamwe rero n’ukwa 7 kwa Rajab mu kirangamisi c’ikislamu.\n[6] Mu mwaka witiriwe amasezerano ya Al-Hudaybiyya."},{"id":3,"translation":"Vyaraziririjwe kuri mwebwe kurya intumvyi, ikiremve, inyama y’ingurube, iy’icavugiweko izina ritari iry’Imana Allah mu gihe co kugikerera, iy’icanizwe kigapfa, iy’icakubiswe gushika aho gipfa, iy’icahanantutse kigapfa, hamwe rero n’iy’icacumiswe ihembe n’ikindi kigapfa. Vyaranaziririjwe kuri mwebwe kurya ibitungwa vyariwe n’inyamaswa[7], kiretse mu gihe mwobikerera bitaradenduka. Vyaraziririjwe kuri mwebwe gufungura ivyabagiwe ibigirwamana hamwe no gusokora imyampi mu ndaha mu ntumbero yo kumenya ico mwokora muri kazoza. Ukugira ivyo bizira rero, ni ubugaba butuma murenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah. Ubu rero abagararije, baramaze kwihebura ko mwovavanura n’idini ryanyu mukarivamwo inyuma y’aho mubatsindiye. Kubera ivyo rero ntimukabatinye, nyabuna nimuntinye Jewe Allah. Kuri uno musi, idini ryanyu ry’ubwislamu Ndaribakwirije ku kubashikana ku ntsinzi, Ndabatunganirije n’inema zanje ku kubakura mu muzimagiza, Nkabashira mu muco w’ukwemera, kira noneho, Naramaze kubahitiramwo ubwislamu kuba ari ryo dini ryanyu, nimuritsimbatareko rero. Ariko rero uwishwe n’inzara, bikaba ngombwa kuri we kurya intumvyi, atarondera gukora n’ibigirankana icaha, ararekuriwe kuyikorako mu kwikiza nya nzara. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[7] Nk’intambwe, ingwe n’imbwebwe."},{"id":4,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ingendanyi zawe zirakubaza ku vyerekeye ivyo zirekuriwe kwikorako mu mfungurwa! Zishure uti: “Murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, ibihigwa vyafashwe n’inyamaswa mwamenyereje gufatisha inzara n’amenyo mu ruhigi [8], mukazigisha uburyo bwo guhiga mwigishijwe n’Imana Allah mu gucakira canke gukomeretsa gusa, ntizinige”, muraheza rero mufungure ku vyo zabahigiye, muvuge n’Izina ry’Imana Allah mu gihe co kuzirekurira ku gihigwa, maze mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.","footnotes":"[8] Nk’imbwa, agaca n’ibindi."},{"id":5,"translation":"Bemeramana! Kuri uno musi rero, biri mu gukwirizwa inema, kuba murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, muranarekuriwe kandi gufungura ibibagwa vy’abahawe Igitabu mu bayahudi no mu banaswara, mu gihe vyokererwa hisunzwe amabwirizwa yabo; na bo nyene bararekuriwe gufungura ibibagwa vyanyu. Muranarekuriwe kwabira abakenyezi bigenga mu bemeramanakazi badashurashura muri mwebwe. Vyongeye, murarekuriwe no kwabira abakenyezi bigenga, badashurashura mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu, mu gihe mwobakwa mu ntumbero yo kwubakana na bo bidaciye mu gushurashura, kibure mu kubagira abahabara. Ivyo rero, mubirekuriwe mu gihe mwobona ko bitobatsitaza mu kwemera kwanyu. Uwo wese rero azogarariza mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa y’ukwemera, ni ukuri ibikorwa vyiwe bizohunguruka bicike impfagusa, kandi na we nyene azoba ari mu bahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":6,"translation":"Bemeramana! Igihe mushatse guhaguruka muja gusenga mudakwije isuku ryo gusenga, muraheza mutunganye isuku ryo gusenga, maze mwoze mu maso no ku maboko yanyu kugera haruguru y’inkokora, muhanagure ku mutwe, mushoke mwoza amaguru yanyu kugera haruguru y’ijisho ry’ikirenge. Nimwashikirwa n’ibihumanya bikuru bituma mwiyuhagira, muraheza mwiyuhagire n’amazi imbere yuko musenga. Nimwaba naho murwaye indwara ibabuza gukoresha amazi mu kwiyuhagira, canke muri ku rugendo mukayabura, canke hakaba muri mwebwe uwuvuye kwituma canke kwihagarika, canke mukaba mwaranguye amabanga y’abubatse hanyuma mukabura amazi yo kwiyuhagira, canke mugatinya ingaruka yo kuyakoresha, muri ico gihe rero, murashoka mukoresha ivu ryiza mu kwihumanura, murakubita ibiganza kuri nya vu muce mubihanaguza mu maso no ku maboko. Imana Allah ntishaka kubaremereza mu kwihumanura mukoresheje amazi, ahubwo Ishaka kuborohereza mu kubarekurira kwihumanura mukoresheje ivu, no kubakwiriza rero inema zayo kugira muyishimire;"},{"id":7,"translation":"Muraheza rero mwibuke inema mwahawe n’Imana Allah mu vyo Yababwirije, mwibuke n’isezerano ryayo Yabahaye ryo kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe mwemanga mu kuvuga muti: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah n’Intumwa”, maze mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha yanyu."},{"id":8,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimube abahagarikizi vy’ukuri ku vyo mushinzwe ku bw’Imana Allah, mube n’ivyabona vy’intungane ata nkunzi. Urwanko mufitiye abantu ntiruzobabuze kubatunganiriza canke kubabera ivyabona. Nimutunganirize rero abansi banyu co kimwe n’abakunzi banyu ata ho muhengamiye. Ukwo gutunganiriza abantu ata nkunzi, ni vyo bibegereza kw’igamburukiramana, nimutinye rero Imana Allah mu kwiyubara kurenganya. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera."},{"id":9,"translation":"Imana Allah Yarahaye isezerano abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bakanakora n’ivyiza bitegetswe, ko Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ntibibahanire, n’uko Izobahembera ivyo bakoze, Ikabaha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru, burya Imana Allah ntirenga kw’isezerano."},{"id":10,"translation":"Abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanahakana Aayah n’ivyemezo vyazanwe n’Intumwa zayo vyerekana ko ari Imwe Rudende, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba."},{"id":11,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwibuke inema yo gutekana mugatekanirwa mwahawe n’Imana Allah, igihe Itera ubwoba mu mitima y’abansi banyu bashaka kubatera maze ntibabatera. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mwiyubare n’ibihano vyayo. Abemeramana vy’ukuri rero, nibishimikize gusa Imana Allah mu vyo bakora, bayizere."},{"id":12,"translation":"Ni ukuri, Imana Allah Yarahaye Bene Israyeli isezerano rihambaye ryo kuyumvira, bakumvira n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’ibiri muri Tawurati. Twebwe Allah Twaranabwirije Intumwa Musa ko yobagenera indongozi cumi na zibiri z’inararibonye, zihagarikira iyubahirizwa ry’iryo sezerano mu miryango cumi n’ibiri ya Bene Israyeli, gutyo Imana Allah Ibabwira Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe mu kubacungera no mu kubatabara. Nimwatsimbataza isengesho, mugatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mukemera n’Intumwa zanje mukanazishigikira, mukagurana Imana Allah ingurane nziza mu gutanga mu nzira yayo, ni ukuri Nzobababarira ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ni ukuri Nzonabinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Uwo wese rero azogarariza muri mwebwe akarenga kuri iri sezerano, ni ukuri azoba yahuvye inzira y’ukuri”;"},{"id":13,"translation":"Abayahudi rero Twarabavumye bitewe no kutubahiriza isezerano bahawe, maze n’imitima yabo Tuyigira imitima y’agatimatare, ntibanyurwa n’ukwemera. Bahindagura amajambo y’Imana Allah ari muri Tawurati uko atari [9], baranaretse bimwe mu vyo bibukijwe, ntibavyubahiriza. Ntumwa y’Imana! Ntuzoreka kuguma ubona ubuhemu bwabo kuko ari yo ngeso barazwe na ba sekuru babo, kiretse bake muri bo, uraheza rero ubaharire kw’ibana ribi ryabo, ubababarire. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza mu guharira no kubabarira ababagiriye nabi;","footnotes":"[9] Abahuvye, bagerageza gushika ku vyo bipfuza babicishije mu guhindagura amajambo y’Imana Allah, bakanayasigura uko atari. Iyo bitabashobokeye ku kubera nya majambo adahuye n’ivyipfuzo vyabo, baraheza bagaheba burundu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, kiretse bake muri bo."},{"id":14,"translation":"Twaranahaye abavuze bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi abanaswara dukurikira Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”, isezerano ryabo ryuko bemera iyo Ntumwa barungikiwe banayishigikire, baraheza bahindura idini ryabo, mu kureka bimwe mu vyo bibukijwe, ntibavyubahiriza, nka kurya nyene Bene Israyeli babigenjeje, Duca Tubiba urwanko n’inzigo vyamaho hagati yabo gushika ku musi w’umuhero w’isi. Kandi rero ku musi w’iharurirwa, Imana Allah Izoheza Ibabwire ibintu bibi bari barakoze kw’isi, Inabibahanire."},{"id":15,"translation":"Emwe bahawe Igitabu! Ni ukuri Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaramaze kubashikira, ibatomorera vyinshi mu vyo mwahora munyegeza abantu ngo ntibabimenye biri muri Tawurati n’Injili, iranirengagiza guserura vyinshi ata co vyishe. Ni ukuri mwaramaze gushikirwa n’umuco uvuye ku Mana Allah, hamwe rero n’Igitabu gitomoye ca Qor’ani;"},{"id":16,"translation":"Hakoreshejwe ico Gitabu ca Qor’ani rero, Imana Allah Irongora abagenzwa no gushimwa na Yo mu nzira zibashikana kw’iteka n’itekane n’amahoro, ku burenganzira bwayo rero Igaheza Ikabakura mu muzimagiza w’ubugarariji, Ikabaganisha ku muco w’ukwemera, Ikanabashoboza gukurikira inzira igororotse y’ubwislamu."},{"id":17,"translation":"Abavuze ko Imana Allah ari we Masihi Isa mwene Mariyamu, ni ukuri baramaze kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ni nde yoshobora gukingira urupfu Masihi mwene Mariyamu be na nyina wiwe, mu gihe Imana Allah Yoshaka ko bapfa bompi hamwe n’ibiremwa vyose biri kw’isi[10]! Eka nta n’umwe yoshobora kubakingira urupfu, kuko burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Irema ico Ishatse kikaba. Imana Allah ni Mushoboravyose[11].","footnotes":"[10] Iyo rero Masihi mwene Mariyamu aba ari imana vy’ukuri, yokwikingiye urupfu ntapfe. Yari no gukingira urupfu nyina wiwe Mariyamu, ntapfe, ariko rero ntiyashoboye kumukingira urwo rupfu, kuko we hamwe na nyina, ni ibiremwa muri Bene Adamu.\n[11] Ukwemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, gushingiye ku kwemera ko ari Yo Nyenubushobozi bwo kurema no kubeshaho ibiremwa, n’uko ata kintu na kimwe kibangikanije na Yo muri ubwo bushobozi. Abenshi rero bagwa mu caha c’ibangikanyamana, mu kurenza urugezo rw’icubahiro baha Abavugishwamana kibure aberanda mu biremwa, n’aho boba barahawe n’Imana Allah ibitangaro, ntivyotuma bahabwa icubahiro c’ubumana cagenewe gusa Imana Allah Yabaremye, ari na Yo Ibwirijwe guhabwa ico cubahiro Itabangikanijwe na kimwe mu biremwa."},{"id":18,"translation":"Abayahudi n’abanaswara barinamuye bavuga bigamba bati: “Twebwe turi abana b’Imana Allah tukaba n’abakunzi bayo”. Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Nivyaba biri nk’ukwo muvuga, none ni kuki Imana Allah Ibahanira ivyaha vyanyu nimwaba koko muri abakunzi bayo! Muranguha! Ahubwo mwebwe muri ibiremwa nk’ibindi muri Bene Adamu, muzorihwa iciza ku ciza, murihwe n’ikibi ku kibi”. Burya rero, Imana Allah Igumiriza akabanga ku vyaha Ikababarira uwo Ishatse, Ikanahana uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":19,"translation":"Emwe bahawe Igitabu! Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaramaze kubashikira, ibatomorera ukuri inyuma y’ikiringo kitari gito caciye hagati y’irungikwa ryayo n’irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, kugira ntimuzoronke icitwazo co kwigovyora muvuga muti: “Nta Ntumwa yigeze idushikira, ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, inagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro”. Ni ukuri, mwaramaze gushikirwa n’Intumwa ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, igihe Irungika Abavugishwamana bavuye muri mwebwe, Ikabagira abami inyuma y’aho mwari abashumba muganzwa na Firawuni, Iraheza Ibaha n’ingabirano nyinshi Itigeze Iha n’umwe mu bantu bo mu gihe canyu;"},{"id":21,"translation":"Bantu banje! Enda nimwinjire mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ari na co Imana Allah Yabasezeraniye ko mwinjira mugahangana n’abagarariji. Ntimuzogenze umugongo ngo muhunge urugamba; muramutse muruhunze, mwotahira agahombo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":22,"translation":"Bene Israyeli bishuye bati: “Ewe Musa! Muri ico gisagara, ni ukuri hariyo abantu b’ibihangange, nta nguvu dufise zo guhangana na vyo, kandi twebwe mu vy’ukuri ntiturota tucinjira bitabanje kukivamwo. Nivyaramuka bikivuyemwo, tuzoheza tucinjire”."},{"id":23,"translation":"Ni ho haboneka abagabo babiri mu bantu batinya Imana Allah, bahawe no kuyumvira Yo hamwe n’Intumwa yayo, baraheza bavuga bati: “Ivyo bihangange nimuvyinjirireko mu gisagara, nimwamara kwinjira, mu vy’ukuri muzobitsinda, kandi rero nimwishimikize Imana Allah muyizere nimwaba mwemera koko Intumwa yayo, mwubahiriza n’amabwirizwa yayo”."},{"id":24,"translation":"Bene Israyeli babwiye Musa bamwiyama n’amanyama n’akantu, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ntiturota twinjira ico gisagara ivyo bihangange bikikirimwo. Genda rero wewe Musa hamwe n’Imana yawe Rurema Allah, muheze muhangane na vyo, nayo twebwe ntiturota tuva ng’aha”."},{"id":25,"translation":"Musa, ni ho yaca atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, nta we mfiseko ububasha, kiretse agatwe kanje na murumunanje. Kubera ivyo rero, ruducire hagati yacu n’abantu b’ibigaba bari aho”."},{"id":26,"translation":"Imana Allah Yaramwumviye Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, kuva uno musi, kwinjira igisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ni ikizira kuri Bene Israyeli mu kiringo c’imyaka mirongo ine, bazokwamana intekera ku mutwe bazembagirika kw’isi, eka mbere ntukagirire impungenge abantu b’ibigaba”."},{"id":27,"translation":"Ntumwa y’Imana! Cira agace Bene Israyeli ku nkuru y’ukuri y’ivyashikiye Bene Adamu Qaabiili na Haabiili, igihe umwe wese muri bo yiyegereza ku Mana Allah mu gutanga ikimazi[12], Imana Allah Iraheza Yakira ikimazi catanzwe na Haabiili kuko yatinya Imana Allah akayigamburukira; Yanka kwakira ikimazi catanzwe na Qaabiili kuko ari ikigaba. Ni ho Qaabiili yaca asharika Haabiili amubwira ati: “Ntegerezwa kukwica!”, Haabiili na we amwishura amuhanura ati: “Ni ukuri, Imana Allah Yakirira abayitinya bakayigamburukira;","footnotes":"[12] Ikimazi, ni ikintu ico ari co cose umuntu atanga ku kwiyegereza Imana Allah nk’imbagwa mu bitungwa canke imperezwa mu yandi matungo, n’ibindi."},{"id":28,"translation":"Niwaramuka umfashe n’amaboko yawe ngo unyice, jewe sindota ndagukozako amaboko yanje ngo ndakwice. Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ibihano vy’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":29,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe nshaka ko uruhira kwikorera ivyaha vyo kunyica vyiyongereye ku vyo wari usanganwe, ushoke uja mu bantu bo mu muriro. Iyo ni yo ndishi y’abarenganya abandi”."},{"id":30,"translation":"Ni ho rero Qaabiili umutima wiwe wamwosha kwica murumunawe, araheza aramwica, aca aruhira kuba mu biguze ubuzima bwo kw’isi, bahomvye ubuzima bwabo bw’inyuma yo gupfa."},{"id":31,"translation":"Ni ho Imana Allah Yarungika igikona, cimba ikinogo hasi gishaka gufuririramwo ikindi gikona cishe, kugira cereke Qaabiili ukuntu afuba ikiziga ca murumunawe kimutera urubwa. Ni ho yitangaza yicuza ati: “Amagorwa arama yemwe! Nananiwe no kuba nk’iki gikona, ngaheza nkafuba ikiziga ca murumunanje!”. Ni ho rero yashoka amufuba, aca aruhira kuba mu bicuza."},{"id":32,"translation":"Ku kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi[13], ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose[14]. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.","footnotes":"[13] Nk’ibangikanyamana, ukwambura ivya murundi hakoreshejwe ibirwanisho.\n[14] Ukubungabunga ubuzima bw’umuntu umwe ntiyicirwe ubusa, ni wo mushinge wo kubungabunga ubuzima bw’abantu bose no kwubahiriza agateka kabo. Kukaba nkako, burya ukwicira umuntu ubusa ata camira, ni yo ntango yo kurendegera mu kwicira ubusa abantu bose."},{"id":33,"translation":"Ni ukuri, indishi yagenewe abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, mu kurenga ku mabwirizwa yayo n’inyigisho z’intumwa, bagaheza bakagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu kwicira abantu ubusa, bakanabambura ivyabo, ni uko bokwicwa; canke bakabambwa hamwe no kwicwa; canke bagacibwa amaboko yabo y’iburyo n’amaguru yabo y’ibubamfu; basubira bagacibwa amaboko yabo y’ibubamfu n’amaguru yabo y’iburyo; canke bakomorerwa mu kindi gihugu kitari ic’amavukiro; canke bagatabwa mw’ibohero ryo muri ico gihugu bakoreyemwo icaha gushika bigaye. Iyo ndishi rero, ni co gihano cabo gisuzuguza kw’isi, baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bihambaye;"},{"id":34,"translation":"Ariko rero, abazokwigaya muri bo bakishikana imbere yuko mubafata, muramenya ko ibihano bategekanirijwe ku Mana Allah bizohanagurwa. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":35,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze muyiyegereze mu kuyumvira no mu gukora ibiyishimisha, maze muharanire n’idini ryayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":36,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, vyoshika bakaba bagaba ibiri kw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibingana na vyo, bagashaka gutanga ivyo bagaba vyose kugira bigombore mu bihano vyo ku musi w’izuka, Imana Allah ntiyokwemeye ivyigombozo vyabo, mbere baranategekanirijwe ibihano bibabaza;"},{"id":37,"translation":"Bashaka gusohoka mu muriro bahunga intureka z’ibihano vyawo, kandi ata buhungiro bwo kuwuvamwo bafise. Baranategekanirijwe ibihano vyamaho."},{"id":38,"translation":"Uwivye, yaba umuhungu canke umukobwa, murabaca ibikonjo vyabo mwisunze ibwirizwa ry’Imana Allah, ni co gihano c’abivye ivya murundi badafiseko uburenganzira, cagenwe n’Imana Allah ku guhasha abasuma. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":39,"translation":"Uwigaye inyuma yo kwiba, akanatunganya ibikorwa vyiwe asabwa n’Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah Izomubabarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko Imana Allah ari Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo! Ihana uwo Ishatse Ikagumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ntibimuhanire, burya Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":41,"translation":"Ewe Ntumwa y’Imana! Ntukicwe n’intuntu y’abihutira kugarariza ubutumwa bwawe mu bantu b’indyarya bavuze n’akanwa ivyo batemera mu mutima, bati: “Twaremeye”. Nzoheza rero Ndagutere intege ubatsinde. Kandi ntukicwe n’intuntu y’abihutira kugarariza ubutumwa bwawe mu bayahudi bumviriza ikinyoma c’abamenyi muri bo, bakumvira n’abandi bantu batigera bashika mu cicaro cawe, bahindagura amajambo y’Imana Allah uko atari inyuma yo kuyatahura, bagaheza bakavuga bati: “Nimwahabwa na Muhamadi ibihuye n’ivyo twahindaguye muri Tawurati, muravyakira mubigendere; nayo nimwahabwa ibidahuye na vyo, muravyiyubara, ntimubigendere”. Uwo Imana Allah Ishatse kugerageza agahuba, nta na kimwe womushoboza gukora gituma atumbera inzira y’ukuri. Abo ni bo bantu rero mu ndyarya no mu bayahudi, Imana Allah Itashatse kweza imitima yabo ngo ivavanure n’ubugarariji kubera ubugaba bwabo. Barategekanirijwe ubuzima busuzuguza kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":42,"translation":"Bumviriza ikinyoma bakihereza n’amatungo azira[15]. Nibaramuka rero baje kugucisha urubanza, urarubacira canke ubirengagize. Niwabirengagiza ukareka kurubacira, nta na kimwe bazokugira cokubangamira. Niwarubacira naho, urabacira urugororotse rutunganye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda intungane mu guca imanza.","footnotes":"[15] Nka ruswa, inyungu izira (riba) n’impongano y’ubushurashuzi."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishoboka gute ko bagucisha imanza mu gihe batakwemera, kandi bafise Tawurati irimwo ingingo z’Imana Allah zitomoye ku vyo bagucishako imanza, hanyuma wamara gufata ingingo badashima, bagasubira inyuma bayinebagura kuko idahuye n’ivyipfuzo vyabo! Abarangwa n’izo ngeso rero, ntibemera Imana Allah, ntibanemera n’ingingo ubashikiriza."},{"id":44,"translation":"Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Tawurati irimwo uburongozi n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, zisungwa n’Abavugishwamana bicishije bugufi, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo mu gutunganiriza abayahudi. Izo ngingo rero kandi zikisungwa n’abasenzi hamwe n’abamenyi mu bayahudi, mu kwubahiriza ivyo baragijwe n’Abavugishwamana ko bigisha iyubahirizwa ry’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bakazoba ari n’ivyabona ko Abavugishwamana batunganirije abayahudi bisunze ingingo ziri muri Tawurati. Imana Allah Yabwiye abo basenzi n’abamenyi Iti: “Ntimugatinye rero abantu mu kwubahiriza ingingo zanje kuko ata co bazobungura, eka nta n’ico bazobicira, muraheza rero muntinye Jewe Allah, kandi ntimugafate Aayah zanje ngo muziguze ibintu vy’agaciro gato cane, canke ngo muzihindure mu kutubahiriza ingingo zanje”. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo bagarariji koko."},{"id":45,"translation":"Twaranategetse abayahudi muri Tawurati ko uwishe yicwa, uwumenye ijisho amenwa ijisho, uwuciye izuru acibwa izuru, uwuciye ugutwi acibwa ugutwi n’uwukuye iryinyo akurwa iryinyo, n’uko uwuteye inguma aterwa inguma mu kwihora. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu gutunganiriza abagiriraniye nabi, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":46,"translation":"Mu gusozera Abavugishwamana barungitswe muri Bene Israyeli, Twakurikije Intumwa Isa mwene Mariyamu, yemera kandi yubahiriza ibiri mu Gitabu ca Tawurati[16]. Twaranamumanuriye Igitabu c’Injili kirimwo uburongozi bukura abantu mu buhuvyi, kikabamwo n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, gishimangira n’ukuri kw’ibiri muri Tawurati. Muri iyo Njili rero, harimwo uburongozi n’inyigisho zitomoye ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.","footnotes":"[16] Ibitasubirijwe izindi ngingo mu Gitabu yahawe c’Injili."},{"id":47,"translation":"Abahawe Injili rero, bakaba ari na bo barungikiwe Intumwa Isa, nyabuna nibatunganirize abantu bisunze ivyamanuwe n’Imana Allah muri yo. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu kubatunganiriza, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twaranakumanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo ukuri, gishimangira n’ukuri kuri mu Bitabu vy’aho hambere yaco, kigaheza kikabiganza mu gutomora ukuri kuri muri vyo, hamwe n’ivyahindaguwe n’abantu, kikanasubiriza rero n’ivyahanaguwe. Kubera ivyo rero, tunganiriza abakwituye mu bayahudi mu kubacira imanza wisunze ivyo wamanuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, ntukanakurikire ivyipfuzo vyabo vyotuma utirigana ku kuri kwagushikiriye, burya umugwi wose mu bantu Twarungikiye Intumwa muri mwebwe, Twawuhaye ingingo zitomoye n’ivyo wokwisunga mu kuntu ubayeho. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubaha ingingo zimwe mwisunga mwese, ariko rero izo ngingo Yarazitandukanije kugira Ibagerageze, maze hamenyekane - mu vyo Isanzwe Izi - ko mwubahiriza ivyo Yabahaye, gutyo hagaragare uwuyumvira n’ikigaba. Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu guhurumbira gukora ivyiza biri muri Qor’ani, bizobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ku Mana Allah rero muzosubizwa mwese, Iheze Ibabwire ivyo mwahora muhazanako mw’idini, Inahembere umwe wese ico yakoze."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Tunganiriza abayahudi wisunze ivyo wamanuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, ntukanakurikire ivyipfuzo vy’abakwituye vyotuma utirigana ku kuri, kandi wiyubare ko bohava bakubera intambamyi y’ukutubahiriza ivyo wamanuriwe n’Imana Allah. Nibagenza umugongo bakirengagiza ingingo wabashikirije, uramenya ko Imana Allah Ishaka kubahubisha ku kubera ivyaha vyabo, kandi rero mu vy’ukuri abenshi mu bantu, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":50,"translation":"Mbega none abo bayahudi bashaka ko ubatunganiriza wisunze ingingo zubahirizwa n’ababangikanyamana! Eka ntibikabe! Mbega ni nde mwiza w’intungane yoza asumba Imana Allah mu gufata ingingo y’ukuri, ku bantu bazi neza ko ingingo y’Imana Allah ari yo y’ukuri!"},{"id":51,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abayahudi n’abanaswara abagenzi banyu somambike mu kubahereza amabanga yanyu, mu gihe ata rukundo babafitiye. Umugwi wose muri bo uracuditse n’uwundi; baratabarana hagati yabo, bagafatana mu mugongo mu kubarwanya. Uwuzobagira abagenzi somambike acuditse na bo rero, azoharurwa muri bo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu birenganya mu gucudika n’abagarariji."},{"id":52,"translation":"Uzobona abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo, bihutira kubagira abagenzi somambike bavuga mu kwisigura bati: “Burya tubagira abagenzi somambike ku gutinya ko baramutse batsinze abislamu, na twe boduhitana”. Imana Allah Yabishuye ko kumbure hari n’aho Yogarurira abislamu igisagara ca Makka canke Ikabashikana ku ntsinzi bakaganza, izo ndyarya zikazokwicuza ku catumye zicudika na bo;"},{"id":53,"translation":"Muri ico gihe, abemeramana bazobwirana hagati yabo bitangaza bati: “Mbega none, aba ni bo barahiye bakarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko mu vy’ukuri bari kumwe na mwe!”. Ibikorwa vyabo rero vyarahungurutse bicika impfagusa kuko babikorana uburyarya, nta co bazokuramwo atari agahombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":54,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Uwuzoramuka yisubiyeko muri mwebwe, akava mw’idini ryiwe ry’ubwislamu, nta co azokwicira Imana Allah, kuko Izoheza Izane abandi bantu Ikunda, kandi na bo nyene bakayikunda, bicisha bugufi bakanagirira impuhwe abemeramana, bagakarira abagarariji, bagaharanira n’idini ryayo ata gutinya igitsure c’umuntu n’umwe. Iyo rero, ni impano y’Imana Allah Iha uwo Ishatse mu biremwa, kira noneho, burya Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":55,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri umuhagarikizi n’umutabazi wanyu, ni Imana Allah n’Intumwa yayo, hamwe rero n’abemeramana; barya batsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bakanatanga n’ishikanwa-bwirizwa bicishije bugufi ku Mana Allah."},{"id":56,"translation":"Uwo wese rero azogira Imana Allah Umuhagarikizi, agaheza akizera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, azoba ari mu mugwi uharanira Imana Allah. Burya mu vy’ukuri, umugwi uharanira Imana Allah, ni wo wenintsinzi."},{"id":57,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abagenzi somambike, abanebagura bagatebura kw’idini ryanyu mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu no mu bagarariji, muraheza nyabuna mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo nimwaba muyemera vy’ukuri;"},{"id":58,"translation":"Iyo murarikiye abantu kuja gusenga, baranebagura iryo rarika bakarigira itebura n’umufyino, bitewe n’uko ari abantu badatahura ukuri kw’ukwiyegereza Imana Allah."},{"id":59,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abatebura kw’irarikira ryo kuja gusenga uti: “Emwe bahawe Igitabu! Mbega burya hari ico mutunebagurako kiretse kuba twemera Imana Allah, tukemera n’Ibitabu Yatumanuriye n’ivyo Yamanuriye abo hambere yacu, n’uko twemera ko abenshi muri mwebwe ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah!”."},{"id":60,"translation":"Muvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Mbega ndababwire uwuzoronka indishi mbi cane ku Mana Allah, isumba iy’ivyo bigaba ku musi w’izuka! Ni barya bakomoka ku bo Imana Allah Yavumye, Ikabashavurira, Ikanahindura bamwe muri bo inkende n’ingurube, hamwe rero n’abasenga ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose[17]. Abo ni bo bantu rero bafise uburuhukiro bubi cane, banahuvye cane n’inzira y’ukuri”.","footnotes":"[17] Ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa."},{"id":61,"translation":"Bemeramana! Iyo indyarya mu bayahudi zije zibagana, zibabwira mu bwiyorobetsi ziti: “Twaremeye”, kandi zikiri mu bugarariji. Ni ukuri zinjirana ubugarariji aho muri, hanyuma zigasohoka uko zaje. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo zihishije mu mushaha n’aho zibiyorobekako."},{"id":62,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uzobona benshi mu bayahudi bihutira gukora ivyaha vyo kubesha, kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah hamwe rero no kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira. Ni ukuri, ni bibi cane ivyo bakora ku karenganyo."},{"id":63,"translation":"Ubwo none, abasenzi hamwe n’abamenyi babo, ntibobabuza kuvuga ikinyoma, kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira, no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah! Ni ukuri, ni bibi cane ibintu bakora ata camira muri bo."},{"id":64,"translation":"Abayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango[18], Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.","footnotes":"[18] Iyi Aayah, iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, ata kuyagereranya n’ay’ibiremwa mu kuntu aremye."},{"id":65,"translation":"Iyo abahawe Igitabu bemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, bakanayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubababarira ibicumuro n’ivyaha vyabo, ni ukuri Twari no kubinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema;"},{"id":66,"translation":"Iyo bubahiriza amabwirizwa y’ibiri muri Tawurati n’ibiri mu Njili, hamwe rero n’ivyo bamanuriwe n’Imana yabo Rurema Allah biri muri Qor’ani, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubamanurira imvura, Tugaheza Tukabanagishiriza ivyamwa, bagafungura borohewe kw’isi. Burya mu bahawe Igitabu rero, harimwo umugwi w’abagororotsi ushigikiye ukuri, n’abandi benshi muri bo bataye inzira, barangwa n’ibikorwa bibi cane."},{"id":67,"translation":"Ewe Ntumwa y’Imana! Shikiriza ivyo wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah. Niwahirahira ngo ureke gushikiriza bimwe muri vyo, ntuzoba washikirije bikwiye ubutumwa warungikanwe n’Imana Allah[19]. Imana Allah na Yo Izoheza Igukingire abansi bawe mu bantu, shishikara rero ushikiriza ubutumwa ata co winona. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu b’abagarariji gutumbera inzira igororotse.","footnotes":"[19] Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarashikirije bikwiye ubutumwa yarungikanwe n’Imana Allah butagabanije. Uwibaza rero ko hoba hari na kimwe yanyegeje mu nyigisho, aba anyomoje mu kubeshera Imana Allah n’Intumwa yayo."},{"id":68,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abayahudi n’abanaswara uti: “Emwe bahawe Igitabu! Nta na kimwe mwimariye mw’idini, mu gihe mutarubahiriza ibiri muri Tawurati no mu Njili, hamwe rero n’ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah biri muri Qor’ani”. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah, gutyo ukagaragaza ingeso zabo mbi. Ntukicwe n’intuntu rero kw’igarariza ry’abantu b’ababahakanyi."},{"id":69,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[20], abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, hamwe rero n’abanaswara[21], abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[22].","footnotes":"[20] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi” risigura abigaye ku Mana Allah.\n[21] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risigura abatabazi.\n[22] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira, kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":70,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye Bene Israyeli isezerano rihambaye ryo kwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tunabarungikira Intumwa nyinshi, baraheza barenga kw’isezerano Twabahaye. Igihe cose rero bashikirwa n’Intumwa ibazaniye ibidahuye n’ivyipfuzo vyabo, barahakana bakagarariza bivuye inyuma zimwe muri zo, izindi na zo bakazica."},{"id":71,"translation":"Ivyo bigaba mu bayahudi rero, vyibaza ko Imana Allah Itazobihana, biraheza birarendegera mu bukozi bw’ikibi bicika impumyi, ntivyaba bikibona ukuri; bicika n’intumva, ntivyaba bicumva ukuri ngo kugire ico kubimariye. Ni ho rero Imana Allah Yabihana, hanyuma Iravyumvira bimaze kwigaya. Mu nyuma yaho ukuri gutomokeye, abenshi muri vyo bahavuye bacika impumyi kandi bacika n’intumva. Burya Imana Allah, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izonabibahembera."},{"id":72,"translation":"Ni ukuri abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari we Masihi mwene Mariyamu, baramaze kugarariza, kuko Masihi ubwiwe yabwiye Bene Israyeli ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro. Abirenganije mw’ibangikanyamana ntibazoronka n’umwe abatabara mu bihano”."},{"id":73,"translation":"Ni ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda[23], baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;","footnotes":"[23] Ubutatu bweranda, bugizwe n’umukama w’imana zitatu ari zo, data, mwana na mutimamweranda. Ijambo “umukama” rero, kizira ku mwislamu kurikoresha nk’izina ry’Imana Allah, kuko ng’aha risigura ubutatu bweranda, iryo na ryo ni ibangikanyamana."},{"id":74,"translation":"Mbega ntibogaruka ku Mana Allah bakigaya ku vyo bavuga, bakanayisaba imbabazi! Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":75,"translation":"Burya rero Masihi mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) si ikindi, kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe n’Imana Allah aho hambere; na nyina wiwe yari imvugakuri yemera vy’ukuri, Masihi hamwe na nyina barihereza imfungurwa nk’ibindi biremwa, mu gihe ata mana y’ukuri ikenera kubeshwaho n’imfungurwa. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubatomorera ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ntibaheze ngo bave mu muzimagiza w’ubuhuvyi! Hanyuma urabe n’ukuntu bagarariza ukuri kandi baramaze kukumenya, maze bakareka kwemera no gusenga Imana Allah Yaremye batayibangikanya!"},{"id":76,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mubangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana ata co bibatwara mu gihe mworeka kubisenga, ata n’ico bibungura mu gihe mwobisenga! Burya rero Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mishaha yanyu”."},{"id":77,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu c’Injili uti: “Ntimukarenze urugero rw’ukwemera mw’idini ryanyu ku vyerekeye Masihi, kandi ntimugatwarwe n’ivyipfuzo vyanyu ngo muhube; nk’uko abo hambere yanyu mu bayahudi batwawe n’ivyipfuzo vyabo mw’idini bagahuba, bakanahubisha n’abandi benshi mu bantu, baranahuvye inzira igororotse”."},{"id":78,"translation":"Abagararije rero muri Bene Israyeli baramaze kuvumwa n’Imana Allah muri Zaburi yamanuriwe Intumwa Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu Njili yamanuriwe Intumwa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Iryo vumwa ryatewe n’ubugaba bwabo bwo kutumvira Imana Allah, baranarenga no ku mabwirizwa yayo;"},{"id":79,"translation":"Bakora ivyaha izuba riva, ntibabuzanya na gato kubikora. Ni ukuri ivyo bakora ni bibi cane;"},{"id":80,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uzobona rero abenshi mu bayahudi bagira abagararije abagenzi somambike bacuditse. Ni ukuri, ivyo bakoze ni bibi cane kuko vyatumye Imana Allah Ibashavurira, bituma baja no mu muriro bazobamwo ibihe bidahera;"},{"id":81,"translation":"Iyo baba bemera Imana Allah n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yamumanuriye muri Qor’ani, ntibari kugira abagararije abagenzi somambike bacuditse, ariko rero abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":82,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri uzosanga abantu barangwa n’urwanko gusumba abandi ku bemeramana bagukurikiye, ari abayahudi babasharika hamwe rero n’ababangikanyamana, kandi ni ukuri uzosanga abarangwa n’urukundo rwa hafi muri bo ku bemeramana bagukurikiye, ari abavuze bati: “Twebwe mu vy’ukuri, turi abanaswara”. Ivyo bigaterwa n’uko muri bo, harimwo abamenyi b’indongozi n’abiyeguriye amasengesho; bikanaterwa kandi n’uko bicisha bugufi bakakira ukuri[24];","footnotes":"[24] Abo rero, ni bo bakiriye ukuri bakemera ubutumwa bw’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":83,"translation":"N’iyo bumvise Qor’ani yahishuriwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ubona amosozi yicunda mu maso, biturutse ku kuri batahuye, ko kuva ku Mana Allah [25] kukabanyura, bagaheza rero bakemanga bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twakwemeye twanakurikiye n’Intumwa yawe. Kubera ivyo rero, duhe iteka ryo kwandikwa hamwe n’intungane mu bakurikiye Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bazoba ivyabona vy’ukuri vyagiriza abagarariji ku musi w’izuka;","footnotes":"[25] Nk’uko vyashikiye abanaswara bo muri Etiyopiya igihe bumva Qor’ani isomwe n’umwe mu ntumwa zarungitsweyo n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":84,"translation":"Twobuzwa n’iki kwemera Imana Allah hamwe no kwemera tugakurikira ukuri twashikirijwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kuvuye ku Mana Allah, tukanizera ko Imana yacu Rurema Allah Izotwinjiza mu Bwami bw’ijuru hamwe n’aberanda bayumvira!”."},{"id":85,"translation":"Kubera ukwo kwemanga rero, Imana Allah Izobahemba imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo ni na yo ndishi rero yagenewe abagwaneza mu mvugo n’ingiro."},{"id":86,"translation":"Nayo abagararije bakanahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa zacu, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba."},{"id":87,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukaziririze ivyiza biryoshe vyarekuwe n’Imana Allah mu mfungurwa, ibinyobwa no kwabira abakenyezi, kandi ntimukarenge ku mabwirizwa yayo mu gukora ivyo Yababujije. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe."},{"id":88,"translation":"Nimufungure rero ibirekuwe mu vyo Imana Allah Yabaronkeje, muheze muyitinye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo nimwaba koko ari Yo mwemera."},{"id":89,"translation":"Imana Allah ntibahanira indahiro murahiye ku kwihenda bitavuye ku mutima, ariko Ibahanira indahiro murahiye n’ibigirankana bivuye ku mutima. Nimutubahiriza ivyo mwarahiriye rero, icuhagizo co kurenga ku ndahiro, ni ugufungurira abakene cumi, umwe wese muri bo akaronswa ibingana no kuyoza amashi incuro zibiri mu mfungurwa musanzwe mufungura; canke kubambika, umwe wese akaronswa umwambaro mu nyambarwa musanzwe mwambara, canke guhereza ubwigenge umugurano umwe[26]. Uwudashoboye rero kugira kimwe muri ivyo, abwirizwa gupfunga imisi itatu. Ukugira kimwe muri ivyo rero, ni co cuhagizo co kurenga ku ndahiro nimwaramuka murahiye. Muracungera rero indahiro zanyu mu kwirinda kurahira, mu kwubahiriza indahiro canke mu kugira icuhagizo mu gihe mworenga ku ndahiro. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ibatomorera ingingo z’idini ryayo kugira muyishimire ku kuntu Ibarongora mu nzira yayo igororotse.","footnotes":"[26] Uwurenze ku ndahiro, icuhagizo ciwe agira muri ico gihe, ni kimwe muri ivyo bintu bitatu."},{"id":90,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni ukuri, inzoga [27], urusimbi [28], ibigirwamana [29] no gusokora imyampi mu ndaha[30] mu ntumbero yo kumenya ico mwokora canke ico mworeka muri kazoza, ivyo vyose ni ibicumuro bituruka ku nyoshambi za shetani, nimuvyirinde rero kugira muronke intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.","footnotes":"[27] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiboreza kigatuma umuntu adatandukanya icatsi n’ururo.\n[28] Urusimbi canke “akamari”, ni urukino urwo ari rwo rwose rukoreshwamwo amahera canke ikindi kintu abarukina basheta, kigatwarwa n’uwutsinze muri bo.\n[29] Ibigirwamana bivugwa ng’aha, ni ikintu ico ari co cose gishingwa ahantu kigakerererwa, canke kigaterekererwa, canke kigahabwa icubahiro co gutakambirwa mu gusengwa.\n[30] Gusokora imyampi mu ndaha, ni uburyo bukoreshwa mu gushaka kumenya ico wokora canke ico woreka gukora muri kazoza. Ukwo babigenza rero, barafata imyampi yanditsweko “Ego” n’iyanditsweko “Oya”, bagaheza bakayishira mu ndaha bakayizungagiza, baheza bagasokora umwampi umwe, gutyo basokoye umwampi wanditseko “Ego” umuntu akabona kugira ico yipfuza, basokora uwanditseko “Oya”, umuntu agaca areka kugira ico yipfuza. Ubwo buryo rero, kirazira ku mwislamu kubukoresha mu ntumbero yo gushaka kumenya ibinyegejwe ibiremwa bizoba muri kazoza."},{"id":91,"translation":"Ni ukuri, shetani ishaka gutera urwanko n’inzigo hagati yanyu ibicishije mu kunywa inzoga no gukina urusimbi, gutyo ibabuze kuninahaza no gutazira Imana Allah, inababuze no gutsimbataza amasengesho, nimuvavanure na vyo rero;"},{"id":92,"translation":"Muheze mwumvire Imana Allah mwumvire n’Intumwa yayo, muniyubare ibihano vyayo mu vyo mugira vyose. Nimwagenza umugongo mukirengagiza amabwirizwa y’Imana Allah, muramenya mu vy’ukuri ko ico Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ijejwe gukora, ari ugushikiriza gusa ubutumwa butomoye."},{"id":93,"translation":"Abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, nta caha kiri kuri bo co kunywa inzoga imbere yuko iziririzwa; mu gihe bovavanura na yo bakirinda gukora ibishavuza Imana Allah banayemera, bagashishikara gukora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma bakabandanya batinya Imana Allah bayigamburukira, banayemera gushika n’aho barangwa n’ubugwaneza mu kwiyegereza Imana Allah banayisenga nk’aho bayibona imbona nkubone. Burya Imana Allah Irakunda abarangwa n’ubugwaneza gushika aho bemera ibinyegejwe ibiremwa nk’aho babibona."},{"id":94,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni ukuri Imana Allah Izobagerageza mu kugira uruhigi rw’igihirwa mushoboye gufatisha iminwe yanyu, n’ico muteye amacumu mugaheza mukagifata. Iryo geragezwa mu ruhigi, ni ukugira ngo Imana Allah Yerekane uwuyitinya vy’ukuri atayibona, agaheza rero akareka kugira urwo ruhigi mu gihe yambaye urubega mw’ishengerera ry’ingoro ntagatifu canke mw’igendera ryayo. Uwuzorenga rero ku mabwirizwa y’Imana Allah inyuma yo gushikirwa n’iyi ngingo akagira uruhigi, namenye ko azohabwa ibihano bibabaza."},{"id":95,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukice ibihigwa vy’imusozi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara urubega, canke mu gihe muri mu karere gatagatifu k’i Makka. Uwo wese rero muri mwebwe azokwica n’ibigirankana igihigwa c’imusozi co mu bwoko ubwo ari bwo bwose, azohanishwa ugutanga imbagwa ingana n’ico gihigwa mu bitungwa [31], igenwe n’ingingo ifatwa n’abantu babiri b’intungane muri mwebwe, iyo mbagwa izoheza ihabwe abakene basanzwe baba i Makka; canke ahanishwe ugutanga amafaranga angana n’agaciro k’ico gitungwa, maze asumishwe imfungurwa zihabwa abakene basanzwe bacumbitse i Makka, umwe wese muri bo aheze aronswe imfungurwa zingana n’ivyo mwoyoza amashi incuro zibiri; canke ahanishwe ugupfunga umusi umwumwe mu gishingo co gutanga imfungurwa zingana n’ivyo mwoyoza amashi incuro zibiri. Imana Allah rero Yategetse ko yohanishwa kimwe muri ivyo, kugira ahonje ingaruka y’igihano c’ivyo yakoze. Imana Allah Izoharira ibicumuro vy’abagize urwo ruhigi imbere yuko ruziririzwa. Uwuzosubira kurenga kuri iryo bwirizwa inyuma y’aho, Imana Allah Izobimuhanira. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenukwihora mu guhana ibigaba.","footnotes":"[31] Ingamiya, inka canke intungwa."},{"id":96,"translation":"Bislamu! Mu gihe mumaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara urubega, murarekuriwe kuroba mw’ibahari no gufungura ivyo mwarovye bikiri bizima. Muranarekuriwe gufungura n’ivyapfiriye mw’ibahari, kugira muvyikoreko mu gihe muri mu mihana yanyu no mu gihe muri ku rugendo. Kizire kiziririzwe rero kuri mwebwe kugira uruhigi rw’imusozi mu gihe cose muzoba mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara urubega. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, iwayo ni ho muzokwegeranirizwa kugira Ibahembere ivyo mwakoze."},{"id":97,"translation":"Al-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu[32], kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose[33], n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.","footnotes":"[32] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 (Dhu l-Qa’da), n’ukwa 12 (Dhu l-Hijja), n’ukwa 1 (Muharram), hamwe n’ukwa 7 (Rajab) ku kirangamisi c’ikislamu.\n[33] Nko gufata ingingo zikingira ibiremwa kutarenganya ibindi."},{"id":98,"translation":"Bantu! Nimumenye ko Imana Allah Ihana Igahasha ibigaba, n’uko Imana Allah ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":99,"translation":"Nta co Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ijejwe gukora, kiretse ugushikiriza gusa ubutumwa, nayo Imana Allah Irazi neza ivyo muserura mu bikorwa n’amajambo, hamwe rero n’ubugororotsi canke ubuhuvyi muhisha mu mishaha yanyu."},{"id":100,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Muntu! Ikibi ntikingana n’iciza mu ndishi[34], n’aho wotangazwa n’ubwinshi bw’ibibi n’ababikora.” Emwe banyabwenge! Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo kugira muronke intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru!","footnotes":"[34] Mu ndishi rero, umugarariji ntangana n’umwemeramana; ikigaba ntikingana n’umwumviramana; ikijuju ntikingana n’incabwenge mu butore; uwadukana bishasha mw’idini ntangana n’uwukurikira inyigisho ata co yongeyeko; ibizira mu matungo ntivyubahwa co kimwe n’ibirekuwe muri yo."},{"id":101,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabaze ku ngingo yerekeye ibintu mutatomorewe mw’idini[35], kandi mu gihe mwotomorerwa ingingo yavyo yobaremera kuyubahiriza. Mu gihe mwobaza ingingo yavyo Intumwa ikihari ikimanurirwa Qor’ani, mwotomorewe ingingo yavyo. Imana Allah Yaretse kubatomorera ingingo yavyo Ibibona ku neza yanyu, kugira ntimunanirwe kuvyubahiriza. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.","footnotes":"[35] Nko kubaza ingingo yerekeye ibintu bitigera bibaho, canke kubaza ingingo yerekeye ibintu mu gihe yotomorwa yobaberamwo amananiza; nk’igihe Al-Aqra’u mwene Haabisi yabaza ko ugushengerera ingoro ntagatifu ari ku mwaka ku mwaka. Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ikamwishura iti: “Iyo nishura nti: “Ego cane!”, ryaca riba itegeko ko mushengerera ingoro ntagatifu uko umwaka utashe, kandi ntimwari kubishobora namba”."},{"id":102,"translation":"Ni ukuri, abantu bo hambere yanyu barabajije Intumwa zabo ibibazo nk’ivyo, bamaze gutomorerwa ingingo yavyo baraheza baragarariza, ntibavyubahiriza."},{"id":103,"translation":"Imana Allah ntiyigeze Iziririza ikoreshwa ry’igitungwa caciwe ugutwi kikagenerwa ibigirwamana; igitungwa catanzwe ikimazi ku bigirwamana, igitungwa kivyaye inyana cikurikiranya, n’impfizi y’ingamiya yimije incuro cumi[36], ariko ababangikanyamana bomekereye ivyo vyose ku Mana Allah bayibeshera, kandi abenshi muri bo ntibatandukanya ukuri n’ikinyoma.","footnotes":"[36] Carazira kuyurira no kuyikoresha ikintu na kimwe."},{"id":104,"translation":"Abaziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah, iyo babwiwe bati: “Enda nyabuna nimuze ku vyamanuwe n’Imana Allah no ku nyigisho z’Intumwa yayo kugira mumenye ikizira n’ikirekuwe”; bishura bati: “Ivyo twarazwe n’abavyeyi bacu birahagije”. Mbega bavuga ivyo, n’aho abavyeyi babo boba ata na kimwe batahura, batanashobora no gutumbera inzira igororotse!"},{"id":105,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwitwararike kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, n’aho abantu batobumvira. Abahuvye inzira, nta co bazobicira mu gihe mwoguma mu nzira igororotse, mugategeka gukora ivyiza, mukabuza no gukora ibibi. Impera n’imperuka, mwese muzosubira ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibamenyeshe ivyo mwakoze Inabibahembere."},{"id":106,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ukwemeza iragi ry’uwuri ku mpfiro muri mwebwe, gusaba ivyabona bibiri vy’intungane muri mwebwe, canke ivyabona bibiri mu batari abislamu mu gihe hatoboneka abislamu, maze bikababera ivyabona mu kwemeza nya ragi igihe hogira uwushikirwa n’urupfu ari ku rugendo. Ivyo vyabona rero, nimwabigirako amakenga, muraheza mubihagurutse inyuma yo gusenga, canecane isengesho ryo ku muhingamo, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah mu kwemeza iryo ragi, biti: “Turarahiye ko tutarota twakira igiturire mu kuba ivyabona n’aho twobera ivyabona uwo dusangiye umuryango; n’uko tutazonyegeza na kimwe mu kuri tuzi, tukaba ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu bacumuye”."},{"id":107,"translation":"Abasigwa b’umuhisi, nibamenya ko ivyo vyabona bikwiye kwagirizwa icaha co guhemuka mu kutaba ivyabona vy’ukuri canke mu kutemeza iragi nk’uko riri, muraheza muhagurutse ibindi vyabona bibiri mu basigwa b’umuhisi, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah biti: “Ni ukuri, ivyo twemeza mu kuba ivyabona, ni ivy’ukuri, mbere bikwiye kwemerwa gusumba ivyemejwe n’ivyabona vya mbere, nta kuri twahonyanze mu vyo twemeje; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu birenganije mu kurenga amabwirizwa y’Imana Allah”."},{"id":108,"translation":"Iyo ngingo yo kurahizwa kw’ivyabona yubahirizwa muri ubwo buryo, ni yo ishobora gutuma ivyabona bishikiriza ukuri nk’uko bisabwa ku gutinya ibihano vy’Imana Allah, canke ku gutinya ko indahiro zavyo zosubizwa inyuma nk’indahiro z’aba mbere mu gihe borahira babesha, maze bakamaramara. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu ndahiro zanyu, mwongere mwumve n’impanuro muhabwa. Burya Imana Allah ntirongora mu nzira yayo ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":109,"translation":"Bantu! Nimwibuke umusi w’izuka! Umusi Imana Allah Izokwegeranya Intumwa zayo zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Ikazibaza ku kuntu zumviwe Iti: “Abantu mwarungitsweko babitabiriye gute!”. Zizokwishura ziti: “Twebwe nta vyo twomenya kuko ntituzi ibiri mu mitima, ntituzi n’ivyo badukanye mu nyuma! Mu vy’ukuri Wewe ni We Uzi neza ibinyegejwe ibiremwa”."},{"id":110,"translation":"Mwibuke n’umusi Imana Allah Izovuga Iti: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Ibuka inema zanje naguhaye wewe[37] hamwe n’umuvyeyi wawe[38]. Wibuke na canecane igihe Nagushigikiza Mutimamutagatifu Jibrili, ukavugisha abantu ukiri uruyoya, ukongera ukararikira Bene Israyeli ukwemera Imana Allah umaze gukura. Wibuke n’igihe Nakwigisha kwandika no gutumbereza ukuri mu mvugo no mu ngiro, Nongera Ndakwigisha Tawurati yamanuriwe Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) n’Injili wamanuriwe. Wibuke kandi n’igihe wabumba mw’ivu igishusho c’inyoni ku burenganzira bwanje, maze ukagihuhamwo kigaca kiba inyoni iguruka ku burenganzira bwanje; ukanakiza uwavukanye ubuhumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe ku burenganzira bwanje agakira. Wibuke n’igihe wasabira abapfuye kuzuka, bagaheza bakazuka badora ku burenganzira bwanje. Ivyo vyose rero, ukaba wabigira ku bushobozi n’uburenganzira bwanje Jewe Allah, bikaba ari na vyo bitangaro vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwawe. Wibuke kandi igihe Nagukingira Bene Israyeli bashaka kukwica igihe wabazanira ibitangaro bigaragara vyemeza ubutumwa bwawe, abagarariji muri bo bagaca bavuga bati: “Ibitangaro yaje abazaniye, nta kindi biturukako kiretse ko ari uburozi bweruye””,","footnotes":"[37] Mu kukurema mu buryo bw’igitangaro utagira so.\n[38] Mu kumutora mu bakenyezi bose Nkamuha icubahiro, Nkanamweza n’ingeso mbi z’ubwoko bwose."},{"id":111,"translation":"Wibuke kandi inema zanje Naguhaye igihe Namenyesha abakunzi mu bigishwa bawe Nti: “Nimunyemere Jewe Allah mwemere n’Intumwa yanje”, baraheza baremanga bati: “Twaremeye Mana! Tubere n’icabona ko twebwe mu vy’ukuri twicisha bugufi, turi abislamu”."},{"id":112,"translation":"Igihe rero abakunzi mu bigishwa biwe bavuga bati: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Burya Imana yawe Rurema Allah mu gihe woyisaba, Yoshobora kutumanurira imeza y’imfugurwa ivuye mw’ijuru?”. Isa mwene Mariyamu yabahanuye ati: “Nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo nimwaba muri abemeramana vy’ukuri”;"},{"id":113,"translation":"Abakunzi mu bigishwa biwe bavuze bati: “Dushaka gufungura ku mfungurwa ziri kuri nya meza, gutyo imitima yacu iturure, duheze tumenye ata makenga ko watubwiye ukuri ku bijanye n’ubutumwa bwawe, twongere tube no mu biboneye n’amaso igitangaro c’iyo meza cemeza ko uri Intumwa”;"},{"id":114,"translation":"Isa mwene Mariyamu yaciye abasabira avuga ati: “Mana yanje Nzima! Mana yacu Rurema Allah! Ndagusavye Utumanurire imeza y’imfungurwa ivuye mw’ijuru, maze umusi w’imanurwa ryayo, tuzowugira umusi mukuru tuzokwama twibuka twebwe n’abazokurikira, gutyo nya meza itubere igitangaro kivuye iwawe cerekana ko uri Imana Imwe Rudende n’uko ubutumwa bwanje ari ubw’ukuri, Wongere Uturonse kandi n’ibitubeshaho, burya Wewe uri Umwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”."},{"id":115,"translation":"Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndabamanurira iyo meza y’imfungurwa musavye. Inyuma y’imanurwa ryayo rero, uwuzogarariza muri mwebwe Imana Allah n’Intumwa yayo Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aramenya ko mu vy’ukuri Nzomuha ibihano ruhasha ntazohanisha uwundi n’umwe mu biremwa”."},{"id":116,"translation":"Nimwibuke kandi umusi w’izuka, igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Mbega ni wewe wabwiye abantu uti: “Nimungire jewe hamwe n’umuvyeyi wanje Mariyamu imana musenga mu gishingo c’Imana Allah!””. Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) azokwishura ati: “Ininahazwa ni iry’iwawe Mana! Sindekuriwe namba kubwira abantu ikitari ukuri. Ninaba naho narabivuze, ni ukuri warabimenye kuko ntakikwinyegeza, Urazi ibiri muri jewe mu gihe jewe ntazi ibiri muri Wewe. Mu vy’ukuri Wewe, ni We Uzi neza ibinyegejwe ibiremwa;"},{"id":117,"translation":"Sinigeze na rimwe ndababwira kiretse ivyo Wantegetse Uti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema”; igihe cose nari nkiri kumwe na bo rero, nari icabona ku vyo bavuga no ku vyo bakora. Umaze kunderura nkaza iwawe mw’ijuru, ni Wewe gusa Wari Umureretsi w’ivyo bakora kw’isi, ni na Wewe uri Cabonamurivyose, kuko Uzi ivyo bakoze vyose;"},{"id":118,"translation":"Mana Allah! Uramutse ubahaniye ivyo bakoze, bo mu vy’ukuri ni abaja bawe, Urabafiseko uburenganzira; Ubagumirije akabanga ku vyaha vyabo naho, maze ku mpuhwe zawe Ukareka kubihanira uwigaye muri bo, Wewe mu vy’ukuri ni We Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”."},{"id":119,"translation":"Imana Allah Izobwira Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Iti: “Uwu musi w’izuka rero, ni umusi w’indishi, aho ukwemera kugirira akamaro imvugakuri mu bemeramana zubahirije amabwirizwa y’Imana Allah. Zarategekanirijwe imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabishimiye, Iraheza Ibakirira ivyiza vyabo, na bo nyene kandi barishimiye indishi y’ivyo bakoze, iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye”."},{"id":120,"translation":"Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Burya Imana Allah rero, ni na Yo Mushoboravyose."}]},{"id":6,"verses":[{"id":1,"translation":"Ishimagizwa ni iry’Imana Allah[1], Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo; Irema n’umuco utuma haba ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango. Hamwe n’ivyo biranga ubushobozi n’ububasha bw’Imana Allah, abagararije banganisha Imana Allah n’ibiremwa bakayibangikanya na vyo.","footnotes":"[1] Imana Allah, ni Yo Ikwiye gushimwa ku nema zayo z’ubwoko bwose, iziboneka n’izitaboneka, izishingiye ku kwemera n’izishingiye ku kubeshaho ibiremwa vyose. Kubera ivyo rero, nta kintu na kimwe gikwiye gusengwa hamwe na Yo canke mu gishingo cayo."},{"id":2,"translation":"Ni Yo Yaremye mw’ivu so wanyu mukomokako Adamu, hanyuma Iraheza Irabagenera ikiringo co kubaho kw’isi, n’ikindi kiringo ntarengwa kizwi na Yo gusa co guhona ku musi w’umuhero. Inyuma y’ivyo vyose rero, mukabandanya kugira amakenga ku bushobozi n’ububasha bw’Imana Allah bwo kuzura abapfuye."},{"id":3,"translation":"Iyo Mana Allah, ni Yo Ikwiye gusengwa mu majuru no mw’isi. ni Yo Izi neza ivyo muhisha n’ivyo mugaragaza vyose, Iranazi n’ivyo mugira vyaba vyiza canke bibi."},{"id":4,"translation":"Abagarariza Imana Allah ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa vy’ukuri, kiretse ko batavyemera, baranavyirengagiza;"},{"id":5,"translation":"Barahakanye bivuye inyuma ukuri igihe bagushikirizwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baranatebuye kw’irarikiramana ryayo. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bateburako."},{"id":6,"translation":"Mbega ntibamenye inkuru y’imigwi y’abo Twahoneje aho hambere yabo! Twabahaye gutsimbatara no kuramba kw’isi ku buryo mwebwe Tutabahaye gutsimbatara nkabo, Twaranabahaye inema y’imvura yamaho n’inzuzi zitemba musi y’imihana yabo, kugira Tubatenyenyere gato. Bahavuye rero bagarariza inema zacu, baranahakana bivuye inyuma Intumwa zacu, Duca Tubahanira ivyaha vyabo Turabahonya. Mu nyuma y’abo rero, Twahavuye Turungika kw’isi iyindi migwi y’abantu."},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! N’iyo Tukumanurira Igitabu kiri hamwe kivuye mw’ijuru, canditswe ku mpapuro bakagikorako n’iminwe yabo, abagararije bari kuvuga bati: “Iki si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”."},{"id":8,"translation":"Bari no kuvuga bati: “Ubwo Imana ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika avuye mw’ijuru kugira yemeze ko ari Intumwa vy’ukuri, tugaheza tukamwemera!”. Iyo rero Tumanura umumalayika avuye mw’ijuru nk’uko babisavye hanyuma bakagarariza, hari gufatwa ingingo yo kubahonya, ntibari no guhabwa n’akanya na gato ko kwigaya, kuko Imana Allah Irazi mu vyagezwe ko batari kwemera kubera ubugaba bwabo."},{"id":9,"translation":"N’iyo Tuja kubarungikira Intumwa y’umumalayika kuko bagararije ukwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni ukuri Twari kurungika nya mumalayika mw’ishusho ry’umuntu kugira bashobore kumwumva no kumutahura, kandi naho nyene bari kugira amakenga ku kumwemera nk’uko bayagize ku kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, aho hambere yawe harabaye itebura ku Ntumwa z’Imana (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), gushika n’aho abatebura bashikirwa n’ibihano ku vyo bahora bateburako[2].","footnotes":"[2] Abagarariji b’i Makka basavye mu gutebura ko borungikirwa umumalayika kugira bashobore kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Imana Allah Ica Iramenyesha Intumwa ko atari bwo bwa mbere abagarariji batebura nk’ukwo."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimugendagende irya n’ino kw’isi, hanyuma mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze, muheze mwiyubare ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye”."},{"id":12,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega ibiri mu majuru no mw’isi, ni nde Mugabe wavyo?”. Babwire uti: “Vyose nk’uko mubizi mukanavyemanga, ni ivy’Imana Allah, ni Yo Mugabe wavyo. Nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya”. Imana Allah Yaramaze kwiyemeza kugira impuhwe, ntiyihutira guhana ibiremwa. Ni ukuri rero, Izobegeraniriza hamwe ku musi w’izuka ata makenga ko utegerezwa gushika, kugira Ihembe umwe wese ku co yakoze. Ababangikanyamana rero, ni bo bazotahira agahombo kuko batemera Imana Allah, batanemera n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":13,"translation":"Imana Allah, ni Yo Mugabe w’ibiri mu majuru no mw’isi, ibitururuye mw’ijoro n’ibigendagenda ku murango, ibihishije n’ibiboneka, vyose ni ibiremwa vyayo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bikora n’ivyo bihishije mu mutima."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega yemwe! Bishoboka gute ko nogira ikitari Imana Allah umuhagarikizi n’umutabazi wanje, kandi ari Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikaba ari na Yo Ibeshejeho ibiremwa vyayo, Itanakeneye ivyo biyikeneyeko mu kubaho kwavyo!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nategetswe ko noba uwa mbere mu bo narungitsweko yicisha bugufi mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose”. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu babangikanyamana."},{"id":15,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, mu gihe nogabitanya ku Mana yanje Rurema Allah mu kuyibangikanya, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka;"},{"id":16,"translation":"Kuri uwo musi, uwo Imana Allah Izokingira ibihano, ni ukuri Izoba Yamaze kumugirira impuhwe, kandi rero iyo ni yo ntsinzi ihambaye”."},{"id":17,"translation":"Muntu! Igihe Imana Allah Yogutera amagorwa y’ubukene canke y’indwara, nta n’umwe yoyagukuramwo kiretse Yo; no mu gihe Yogutera iteka ry’ubutunzi canke ryo kuroranirwa n’amagara, nta n’umwe mu biremwa yokwambura nya teka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mushoboravyose;"},{"id":18,"translation":"Ni na Yo Nyeninkomezi, Iganza ibiremwa vyose, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose."},{"id":19,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni igiki coba icabona gihambaye cemeza ko ndi Intumwa y’Imana vy’ukuri!”. Nibatakwishura, uraca ubabwira uti: “Imana Allah ni co Cabona hagati yanje na mwe Cemeza ko ndi Intumwa, Kikanamenya neza n’ivyo muvuga. Yaranampishuriye Qor’ani kugira ndabagabishe ntimuzohanwe, nongere ngabishe n’imigwi y’abantu izoshikirwa na Qor’ani uko izogenda ikurakuranwa kw’isi. Mbega mwokwemanga mu vy’ukuri ko hariho izindi mana zibangikanije n’Imana Allah!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe singiye kuba icabona ku vyo mwemanze”. Babwire uti: “Ni ukuri Allah ni Imana Imwe Rudende. Kandi jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo muyibangikanya vyose”."},{"id":20,"translation":"Abo Twahaye Igitabu (mu bayahudi n’abanaswara), barazi neza na neza ibiranga Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), vyotuma batamwihendako mu vyanditswe mu Bitabu vyabo; nka kurya bazi neza na neza ata kwitiranya abana babo; abatwawe n’ivyipfuzo vyabo muri bo, ni bo bazotahira agahombo gatewe no kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’ivyo yigishije."},{"id":21,"translation":"Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu gusengwa, canke ko Ifise umwana canke umugore, canke agahakana yivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ukuri kw’Intumwa zayo! Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubeshera Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa,"},{"id":22,"translation":"Nibiyubare rero umusi Twabegeranirije hamwe, hanyuma Tukabaza ababangikanyamana Duti: “Biri hehe ibigirwamana vyanyu mwahora mwibwira ko bibangikanije n’Imana Allah, ngo biheze bibavugire!”;"},{"id":23,"translation":"Inyuma y’aho rero, nta n’inyishu bazoronka kuri iryo geragezwa ryo kubazwa, kiretse ko bazorahira bakarengwa bavuga bati: “Turarahiye kw’Izina ry’Imana yacu Rurema Allah! Ntitwigeze tubangikanya Imana Allah!”."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu bihenda, bakazokwihakana ibangikanyamana ku musi w’izuka, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka."},{"id":25,"translation":"Mu babangikanyamana, harimwo abakwumviriza usoma Qor’ani ariko ntibanyurwe. Biturutse ku gutwarwa n’ivyipfuzo vyabo rero, Twarasibanganije imitima yabo, icika agatimatare, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Twaranabazivye n'amatwi yabo ntibumva ukuri kuri muri yo ngo bagukurikire. N’iyo babonye ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, ntibavyemera; bamara kuza kuguhaririza ku vyo batumva, abagararije nya vyemezo bakabwirana hagati yabo bati: “Ivyo twumva, si ibindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere ata kuri kurimwo”,"},{"id":26,"translation":"Baranaburagiza abantu kwumviriza no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi na bo nyene bakigira kure yayo. Nta n’uwo rero bazohonya kiretse ukwihonya bo bonyene ata vyo bazi."},{"id":27,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu ababangikanyamana bazoba bamerewe ku musi w’izuka, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe bakwegewe hambavu y’umuriro bakawubona imbona nkubone, hanyuma bakavuga bicuza n’akantu bati: “Amagorwa arama! Ese Twopfuma dusubizwa mu buzima bwo kw’isi, tukisubirako ntiduhakane Aayah n’ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah, tugaheza tukaba mu bemeramana!”."},{"id":28,"translation":"Si nk’ukwo bicuza bavuga! Ahubwo ku musi w’izuka bazotomokerwa n’ukuri bahora banyegeza ku mutima bakiri kw’isi, ko Intumwa z’Imana zari iz’ukuri, n’aho batagaragariza nya kuri ababumvira bakabakurikira. Hamwe vyoshika bagasubizwa mu buzima bwo kw’isi bakabaho, ni ukuri bosubiye mu bugarariji no mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, ukwicuza kwabo kuzoba ari uruhendo gusa."},{"id":29,"translation":"Bavuze bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa bati: “Nta buzima bubaho kiretse ubuzima tubayemwo kw’isi! Kira noneho, ntituzonazuka nitwamara gupfa”."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abahakana umuhero w’isi n’izuka ry’ibiremwa bazoba bamerewe, igihe bahagaritswe ku musi w’izuka imbere y’Imana yabo Rurema Allah, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe Imana Allah Yababajije Iti: “Iri zuka mwahora muhakana, si iry’ukuri!”. Bazokwishura bateterewe bati: “Ego cane! Ni iry’ukuri Mana yacu Rurema!”. Imana Allah Izobabwira Iti: “Nimuhonje rero ibihano bitewe n’ivyo mwahora mugarariza kw’isi”."},{"id":31,"translation":"Ni ukuri, abahakanye bivuye inyuma ko bazohura n’Imana Allah igihe bazutse, baraguye mu gahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Igihe rero bashikiwe giturumbuka n’umuhero w’isi, bazokwicuza bavuga bati: “Ese agahombo tubonye ku vyo twirengagije gukora tukiri kw’isi!”. Bazoheza rero biremeke ku mugongo umutwaro w’ibicumuro vyabo. Emwee! Umutwaro bazokwiremeka, uzoba uremereye kubi."},{"id":32,"translation":"Ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi kiretse ko ari ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Ugukora ivyiza bitegetswe vyungura umuntu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni vyo vyiza cane ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega bantu muhendwa n’ivy’isi! Ntimwogarura ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!"},{"id":33,"translation":"Ntumwa y’Imana! Burya Twebwe Allah Turazi neza ko wishwe n’intuntu itewe n’igarariza rigirwa n’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, si wewe bagarariza kuko mu mitima yabo barazi ko uri Intumwa y’ukuri, ariko rero ku kubera akarenganyo n’urwanko, bagarariza Aayah n’ivyemezo bigaragara vyerekana ko uri Intumwa y’ukuri."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Humura si wewe ubaye uwa mbere ugararijwe. Ni ukuri, Intumwa z’Imana zaragararijwe aho hambere yawe ziranabangamirwa, maze zirihanganira igararizwa n’ibangamirwa zagiriwe, ziraheza zirashishikara ishikirizabutumwa gushika aho zigera ku ntsinzi yacu Twebwe Allah. Nta wushobora guhindura amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’Impuhwe z’Imana Allah), Iyisezeranira gutsinda abayirwanya. Ntumwa y’Imana! Waramaze gushikirwa n’inkuru y’intsinzi y’Intumwa zarungitswe hambere yawe[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah irahoza igaha n’umwizero w’intsinzi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’Impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":35,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwaremerwa n’igarariza ryabo ryo kutakwumvira, uraheza wihangane. Usangwa ushobora guca inzira ica mu kuzimu, canke ukurira ingazi igushikana mw’ijuru, maze ukabazanira icemezo cerekana ukuri ku vyo ushikiriza, kitari mu vyo Twaguhishuriye, urakizana. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubashoboza bose kuba abagororotsi, ariko rero ntiyabigize ukwo ku mvo zizwi gusa na Yo. Kubera ivyo rero, ntukabe mu bantu badatahura Imana Allah, bicwa n’intuntu bakihebura."},{"id":36,"translation":"Ni ukuri, abakwumvira bakagukurikira, ni abumviriza amajambo y’Imana Allah ku mvo zo kuyemera. Nayo abagarariji baharurwa mu bapfuye, kuko ubuzima nya bwo ni ubushingiye ku bwislamu butuma umuntu yicisha bugufi ku Mana Allah. Burya rero abapfuye, Imana Allah Izobazura hanyuma basubire kuri Yo ku musi w’izuka, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo bakoze."},{"id":37,"translation":"Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Irashoboye kubamanunira icemezo gifadika, ariko rero abenshi muri bo, ntibazi ko imanurwa ry’ivyemezo bifadika riba ku mvo zigenwa gusa n’Imana Allah”."},{"id":38,"translation":"Nta kiremwa na kimwe kigendagenda mw’isi, eka nta n’ikiguruka n’amababa mu kirere, kiretse ko vyose vyaremwe mu migwi hari ico bihuriyeko mu ndemo nkamwe. Burya nta na kimwe Twaretse ngo Twirengagize kucandika ku Rubaho rubungabunzwe “Lawhu Mahfuudhw”. Hanyuma ibiremwa vyose ku musi w’izuka, bizokwegeranirizwa hamwe ku Mana yavyo Rurema Allah, kugira Ihembe kimwe cose ku co cakoze."},{"id":39,"translation":"Abagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah, ni ba nyamuragi; ntibumva icobagirira akamaro, ntibavuga ukuri, bari mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ntibanashoboye guhitamwo inzira y’ubugororotsi. Uwo Imana Allah Ishatse guhuvya ku butumva bwiwe, Iramuhuvya; n’uwo Ishatse kurongora ku bugamburutsi bwiwe, Imushira mu nzira igororotse."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mukiri kw’isi, canke mu gihe mwoshikirwa n’umusi w’izuka, aho nyene mwombwira ko mwosaba ikitari Imana Allah, kugira kibakize intureka zabashikiye nimwaba muri imvugakuri ko ibigirwamana musenga hari ico bishoboye!”;"},{"id":41,"translation":"Ahubwo nyabuna muri ico gihe, mwosaba gusa Imana Allah muyambaza ko Ibakiza intureka zabashikiye, mu gihe Yobishaka kuko ari Yo Mushoboravyose, mugashoka mwibagira ivyo muyibangikanya ko vyigeze kubaho!."},{"id":42,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twararungikiye imigwi y’abantu b’aho hambere yawe, Intumwa ziyirarikira kwumvira Imana Allah, maze irazihakana yivuye inyuma, Duca Turayigerageza mu kuyitera ubukene n’ivyago hamwe n’indwara n’amaganya, kugira itakambe yicishe bugufi ku Mana Allah."},{"id":43,"translation":"Iyo migwi y’abantu ico gihe ishikirwa n’igeragezwa ryacu, ese iyo ipfuma itakamba ikicisha bugufi ku Mana Allah! Ariko ntiyigeze ibikora, imitima yayo yarakomantaye icika nk’ibuye ry’urutare ntiyumva, shetani na yo iraheza iyiryohereza ivyaha n’ibangikanyamana yahora igira."},{"id":44,"translation":"Igihe rero iyo migwi y’abantu irekeye kwicisha bugufi, ikirengagiza no kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, Twarayugururiye imiryango yose y’ibiyibeshaho kugira irendegere mu bwononyi, iraheza ibaho yorohewe, iranagira amagara meza ahimbaye gushika aho yishimira ivyo Twayironkeje, Duca Turayihana giturumbuka, iricuza, irihebura."},{"id":45,"translation":"Ni ho rero Imana Allah Yahonya abantu birenganya mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa zayo. Nihashimagizwe rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, Itabara abatoni bayo, Igahonya abansi bayo."},{"id":46,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire mu gihe Imana Allah Yobaka ubushobozi bwo kwumva mukaba ba nyamuragi; Ikabaka n’ubushobozi bwo kubona mukaba impumyi; Ikanatera ikimangu ku mitima yanyu mukaba intumva, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yoshobora kubasubiza ivyo Yabatse!”. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose, hanyuma bakabandanya birengagiza, ntibibuke ngo bikebuke!"},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Nimumbwire mu gihe mwoshikirwa giturumbuka n’ibihano vy’Imana Allah; canke bikabashikira imbona nkubone, hari abohona atari abantu birenganya mu guhakana Intumwa no mu kubangikanya Imana Allah!”."},{"id":48,"translation":"Burya Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. Uwuramutse rero yemeye izo Ntumwa akanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, aramenya ko ari mu bantu batazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi."},{"id":49,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani n’ibindi vyemezo vyacu, bazokorwako n’ibihano ku musi w’izuka, bitewe n’uko bahora baca kubiri n’idini kw’isi."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe sindigera ndababwira ko ngaba ibigega vy’Imana Allah nkabeshaho ibiremwa, eka sindigera nigira rumenyi rw’ibinyegejwe ibiremwa, eka sindanababwira ko ndi umwami, jewe ndi Intumwa y’Imana, nkurikira ivyo mpishuriwe, ngaheza nkabishikiriza abantu”. Babwire kandi uti: “Mbega umugarariji yigenza nk’impumyi[4] atigera abona ivyemezo vy’Imana Allah ngo avyemere, ni nk’umwemeramana abona ivyemezo vy’Imana akavyemera! Mbega ntimwiyumvira ngo mubone ukuri, muheze mukwemere!”.","footnotes":"[4] Iyi ni imvugo ngereranyo igereranya umugarariji mu kutabona ukuri, n’impumyi itabona; ikagereranya umwemeramana mu kubona ukuri n’uwubona."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Koresha Qor’ani mu kugabisha abatinya ko bazozuka bakegeranirizwa ku Mana yabo Rurema Allah, bazi neza ko ata mutabazi bazoronka abatabara mu bihano, kiretse Imana Allah, kandi ata n’uwubavugira ku Mana Allah bazoronka ngo ntibahanwe. Bagabishe rero kugira batinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":52,"translation":"Muvugishwamana! Ntukirukane mu vyicaro vyawe ba ntahonikora na ba nyarucari mu bislamu, biyegereza Imana yabo Rurema Allah mu vyo bakora vyose bakanayisenga igitondo n’umugoroba bashaka kuyishimisha; nta na kimwe ubazwa ku ndishi y’ivyo bakora, eka na bo nyene nta na kimwe bagusaba. Uramutse rero ubirukanye, woba uri mu barenganya mu kutamenya icubahiro n’agateka k’umwe wese."},{"id":53,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Yagerageje bamwe mu biremwa vyayo mu kutabaha ibibabeshaho n’inkomezi ku rugero rungana; uyu Yamuhaye gutunga, urya na we Imuha gukena; uriya Yamuhaye inkomezi n’imirya, uyu na we Imuha ingoga nke, Iraheza rero Irabagerageza mu gukenerana no mu gukenurana, kugira abatunzi mu bagarariji bavuge bitangaza bati: “Aba bakene na ba nyarucari, ni bo Imana Allah Yarongoye bakaba abislamu, ha kuba ari twebwe!”. Mbega burya Imana Allah ntizi bikwiye abayishimira Ikabashoboza kuba abagororotsi!"},{"id":54,"translation":"Muvugishwamana! Abemera Aayah za Qor’ani n’ibindi vyemezo vyacu vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, nibaza bakugana babaza ku vyerekeye ukwigaya ivyaha bigeze gukora, urabatera intege ubahumuriza uti: “Murakagira amahoro y’Imana Allah”, unabashikiriza inkuru nziza uti: “Imana yanyu Rurema Allah Yaramaze kwiyemeza kugirira impuhwe ibiremwa vyayo, ko Izobabarira uwakoze icaha muri mwebwe ku kutamenya ingaruka mbi yaco hanyuma akigaya mu nyuma, akanashishikara atunganya ibikorwa vyiza bitegetswe. Ni Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":55,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Dutomora ivyemezo vyacu vyerekana ukuri kugira ngo kumenyekane, no kugira kandi hamenyekane inzira y’inkozi z’ikibi zica kubiri n’Intumwa zacu."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, narabujijwe gusenga ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah”. Babwire kandi uti: “Jewe sinkurikira ivyipfuzo vyanyu. Hamwe nobikurikira rero, noba namaze guhuba inzira igororotse, sinoba ndi no mu bagororotsi”."},{"id":57,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, nshimikiye ku vyemezo bigaragara nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah, ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende, ari na vyo mwamaze guhakana. Ibihano mwihutira gusaba mu gutebura ko vyobashikira, nta bushobozi ndabifiseko. Ingingo y’irindirizwa ry’ivyo bihano, ntija mu ngiro kiretse ku bushobozi bw’Imana Allah, Iratomora ukuri bikwiye, ni na Yo Mwiza w’abatandukanya ukuri n’ikinyoma hisunzwe ingingo y’ivyo Yageze”."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Iyo nza kuba mfise ubushobozi bwo kwihutisha ibihano musaba, nobahanye, maze rugacibwa hagati yanje na mwe. Burya Imana Allah Irazi cane abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo bakayibangikanya”."},{"id":59,"translation":"Imana Allah, ni Yo Ifise impfunguruzo z’ibigega vy’ibinyegejwe ibiremwa, nta n’umwe azi ibirimwo kiretse Yo gusa, Iranazi ibibera imusozi n’ibibera mw’ibahari; nta n’ibabi rikoroka ku giti kiretse ko Irizi, eka nta n’urutete ruri mu kuzimu, eka nta n’icatsi kibisi canke cumye mu binyabuzima n’ibindi, kiretse ko vyose biri mu vyanditswe mu Gitabu gitomora vyose “Lawhu Mahfuudhw”."},{"id":60,"translation":"Ni na Yo Ibaka ubuzima mu gihe musinziriye mw’ijoro mukaba nk’abapfuye; Iranazi n’ivyo mukora n’iminwe yanyu ku murango, vyaba ivyiza canke ibibi, hanyuma Igaheza Ikabasubiza ubuzima mwikanguye nk’abazutse, kugira Ibakwirize ikiringo canyu co kubaho kw’isi, hanyuma impera n’imperuka mukazosubira kuri Yo nimwazuka, kugira Ibabwire ivyo mwahora mukora, Inabibahembere."},{"id":61,"translation":"Ni na Yo Nyeninkomezi Iganza ibiremwa vyayo vyose. Iranabarungikira abamalayika babungabunga ibikorwa vyanyu mu kuvyandika, maze hagera aho umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, intumwa zacu mu bamalayika bajejwe urupfu[5] zigaca zimwaka ubuzima agapfa, kandi ntizihenda na gato ku wo zirungitsweko;","footnotes":"[5] Ni umumalayika ajejwe urupfu “Malaku l’mawti” n’abafasha biwe."},{"id":62,"translation":"Ni na ho rero abapfuye basubizwa ku Mana Allah Umuhagarikizi wabo w’ukuri. Bantu! Nimwumve mwumvireho Imana Allah, ni Yo Nyenugutunganiriza ibiremwa Ikazobicira imanza ku musi w’izuka, ni na Yo Inyarutsa mu kubiharurira kurusha abaharura bose."},{"id":63,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana ubabaze uti: “Ni nde yobakiza intureka z’ubwoba bw’umwijima w’imusozi n’uwo mw’ibahari! Si Imana Allah mwoca musaba mutakamba mu mpisho no ku mugaragaro, maze mukavuga muti: “Ni ukuri, Imana yacu Rurema Allah Yodukiza Ikadukura muri izi ntureka, ni ukuri twoshoka tuba mu bantu bayishimira bakayisenga batayibangikanya””."},{"id":64,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni Imana Allah Yonyene Yobakiza izo ntureka z’ubwoba n’ayandi magume ayo ari yo yose, hanyuma na mwe mugaca muyibangikanya”."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire ko ari Yo gusa Ishoboye kubarungikira ibihano biturutse hejuru yanyu[6], canke musi y’ibirenge vyanyu[7], canke Ikabatera kutumvikana mukicamwo imigwi mukamarana mu kwicana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose kugira batahure baheze bibuke!”.","footnotes":"[6] Nk’imvura y’amabuye canke y’imyuzurira, n’ibindi.\n[7] Nka nyamugigima canke kumirwa n’isi."},{"id":66,"translation":"Abagarariji mu bantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Qor’ani kandi ari co Gitabu kirimwo ukuri. Babwire uti: “Sinjejwe namba kubabungabungira no kugenzura ibikorwa vyanyu, njejwe gusa kubashikiriza ubutumwa narungikanwe”."},{"id":67,"translation":"Burya inkuru yose irafise aho igarukira, ukuri n’ikinyoma bigaheza bikamenyekana, impera n’imperuka rero muzomenya inkurikizi z’ivyo mugira igihe mwashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah."},{"id":68,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwabona ababangikanyamana bateramye baganira mu gutyoza no guhakana Aayah za Qor’ani, uraheza ubirengagize ntiwicarane na bo gushika batandukiriye ibindi biganiro; nivyashika naho shetani ikakwibagiza guhaguruka, umaze kwibuka, ntuzoheze ngo wicarane n’abirenganya mu kuganira batyoza Aayah za Qor’ani."},{"id":69,"translation":"Abatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ntibajejwe namba indishi y’abaganira mu gutyoza no guhakana Aayah za Qor’ani, ariko ico bajejwe, ni ukubahanura kugira batinye Imana Allah, maze bareke gutyoza Aayah zayo."},{"id":70,"translation":"Ntumwa y’Imana! Reka ababangikanyamana bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteramirako mu gutyoza no guhakana Aayah z’Imana Allah, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, maze ubibutse ukoresheje Qor’ani kugira ntihagire uwuzokwigovyora igihe yahaniwe ivyo yakoze, ico gihe ntazoronka uwumutabara mu bihano atari Imana Allah, eka ntazoronka n’uwumuvugira kuri Yo kugira ntahanwe, n’aho yotanga imbohozo kugira ntahanwe ntizokwemerwa namba. Abo ni bo rero bazohanirwa ivyo bakoze, bahemburwe n’ikinyobwa c’amarike yasebuye akaryimara, bahabwe n’ibihano bibabaza bitewe n’ukuntu bagarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagahakana n’ubwislamu."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega none twiyegereze mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co vyotumarira mu gihe twobisenga, ata n’ico vyotwicira mu gihe tworeka kubisenga, gutyo dusubire mu bugarariji inyuma y’aho Imana Allah Iturongoreye mu bwislamu, duce tuba nk’uwohejwe n’amashetani akazimira inzira, kandi ari kumwe n’abagenzi b’abanyabwenge bemera bamuzimurura bamugarura mu nzira ishika bati: “Ingo nyabuna dufadikanye inzira”, hanyuma akanka kuzimururwa!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, uburongozi bw’Imana Allah Yandungikanye, ni bwo burongozi nyabwo, twaranategetswe twese kwicisha bugufi ku Mubungabunzi w’ibiremwa vyose mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo dukora vyose tunayisenge tutayibangikanya”;"},{"id":72,"translation":"Twarategetswe kandi duti: “Nimutsimbataze amasengesho ku mwanya yagenewe, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Ni no kuri Yo muzokwegeranirizwa mwese ku musi w’izuka”."},{"id":73,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi w’umuhero w’isi igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ba”, ugaca uba ubwo nyene nk’ikubita ry’urugohe. Ijambo ryayo ni kwo kuri kudahinyuzwa. Ni Yo Nyenubwami umusi havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzuka kw’ibiremwa. Ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa n’ibiboneka, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose."},{"id":74,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) abwira se wiwe Aazara ati: “Mbega none ufata ibishusho ukabigira ibigirwamana usenga mu gishingo c’Imana Allah! Jewe mu vy’ukuri mbona ko wewe hamwe n’abantu bawe muri mu buhuvyi bugaragara”."},{"id":75,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Ibrahimu - Twamurongoye mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose anayisenga - Tumwereka ubwami buhambaye bw’amajuru n’isi kugira abe mu bantu batsimbataye ku kwemera."},{"id":76,"translation":"Igihe ijoro ryijima, Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabonye inyenyeri maze abwira abantu yarungitsweko ashaka kubereka ko ukwemera kwabo gushingiye ku kinyoma[8], ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje!”. Nya nyenyeri imaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Eka! Sinkunda imana zihita zikazimangana”.","footnotes":"[8] Hari mu ntumbero yo kubereka ko ibigirwamana basenga harimwo n’inyenyeri, bidakwiye gusengwa kuko ata co vyimariye."},{"id":77,"translation":"Igihe yabona ukwezi guserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje”. Kwa kwezi kumaze kurenga, ni ho yababwira n’agashinyaguro ati: “Imana yanje Rurema nitanshoboza gutumbera ukuri, ni ukuri nzohava mba mu bantu bahuvye inzira igororotse!”."},{"id":78,"translation":"Igihe yabona izuba riserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje, iyi ni yo nini gusumba inyenyeri n’ukwezi”. Rya zuba rimaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo mubangikanya n’Imana Allah mu bishusho n’inyenyeri;"},{"id":79,"translation":"Jewe mu vy’ukuri, naramaze gutumbera Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuyiyegereza mu vyo nkora vyose, nkanayisenga ntayibangikanya, kandi jewe si ndi mu babangikanyamana”."},{"id":80,"translation":"Abantu Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarungitsweko baramuharirije ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, maze ababwira ati: “Mbega mumpaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, kandi Yaramaze kunshoboza kumenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende! Sindanatinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara kiretse mu gihe Imana yanje Rurema Allah Yoshaka ko hari ikinshikira. Burya ubumenyi bw’Imana yanje Rurema Allah bukikije ikintu cose. Mbega ntimwokwibuka mukamenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanywa!”."},{"id":81,"translation":"Ni gute notinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara, mu gihe na mwe mudatinya ko mwabangikanije Imana Allah mu buryo ata n’icemezo Yabamanuriye kibibarekurira! Mbega ni uwuhe mugwi hagati y’ababangikanyamana n’abemeramana ukwiye gutekanirwa ko utazohanwa n’Imana Allah! Nimwaba muzi neza ukuri kw’ivyo ndababwiye, nimunyishure!"},{"id":82,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibavanga ukwemera kwabo n’ibangikanyamana, abo ni bo rero batekaniwe, ni na bo bagororotsi bashobojwe n’Imana Allah."},{"id":83,"translation":"Icemezo Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yashikirije abantu yarungitsweko, ni co cemezo cacu Twebwe Allah Twamushoboje gushikako, kugira bananirwe kwisigura. Burya Tuduza ivyubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa abo Dushaka mu baja bacu. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":84,"translation":"Twaranahaye Ibrahimu umwana yitwa Is-haka n’umwuzukuru avyarwa na Is-haka yitwa Yakubu, umwe wese muri bo rero Twaramushoboje gukurikira inzira igororotse. Na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yabo Twaramushoboje gukurikira ukuri, Twongera Dushoboza gukurikira ukuri urwaruka rukomoka kuri Nuhu, ari rwo Dawudi, Sulayimani, Ayubu, Yusufu, Musa na Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah). Kurya rero Twahemvye abo Bavugishwamana ku bugwaneza bwabo, ni kwo nyene Duhemba abagwaneza."},{"id":85,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Twarongoye mu nzira igororotse Zakariya, Yahaya, Isa na Ilyaasi. Abo Bavugishwamana bose bari mu beranda."},{"id":86,"translation":"Twaranarongoye mu nzira igororotse Ismayili, Alyasa’a, Yunusu na Luutwi. Izo Ntumwa zose rero Twarazihaye icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyose mu gihe cazo."},{"id":87,"translation":"Ni nk’ukwo Twashoboje gukurikira ukuri abo Dushaka mu bavyeyi bazo, mu ruvyaro rwazo no muri benewabo, Twarabatoye Tubarungika gushikiriza ubutumwa ku bantu babo, Turanabarongora mu nzira igororotse yo gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa."},{"id":88,"translation":"Ubwo ni bwo bugororotsi rero buva ku Mana Allah, Ishoboza kubukurikira uwo Ishatse mu biremwa vyayo. Iyo bishika rero ko Abavugishwamana bahirahira bakabangikanya Imana Allah, ibikorwa vyabo ni ukuri vyari guhunguruka bikaba impfagusa."},{"id":89,"translation":"Abo Bavugishwamana rero, ni bo Twahaye Igitabu[9] Tunabaha kugitahura no gushikiriza ubutumwa bwacu. Ntumwa y'Imana! Abagarariji mu bantu warungitsweko, nibaramuka bahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, ni ukuri baramenya ko Twamaze gushoboza kuzemera abandi bantu[10] batazokwigera bazigarariza.","footnotes":"[9] Nk’Imizingo Twahaye Ibrahimu, Tawurati Twahaye Musa, Zaburi Twahaye Dawudi n’Injili Twahaye Isa.\n[10] Mu bimukira “Al-Muhaajiriina” n’abasangwa “Al-Answaar” n’abazobakurikira “Al-Taabi’iina” gushika ku musi w’iherezo."},{"id":90,"translation":"Abo Bavugishwamana, ni bo Imana Allah Yashoboje kuba abagororotsi. Ntumwa y’Imana! Urakurikira rero, ubugororotsi bwabo. Bwira ababangikanyamana uti: “Sindabasaba impembo mu vy’isi kw'ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Ubutumwa bw’ubwislamu si ikindi rero, kiretse ko ari ukurarikira n'ukwibutsa abantu bose kuba abagororotsi”."},{"id":91,"translation":"Ababangikanyamana ntibahaye Imana Allah icubahiro nya cubahiro kiyikwiye, igihe bahakana imanurwa ry’Ibitabu bakinamura bati: “Imana Allah ntiyigeze Ihishurira n’umwe mu biremwa ikintu na kimwe”. Babwire uti: “Nivyaba ari nk'uko mubivuga, none ni nde yamanuriye Musa Igitabu ca Tawurati yazaniye abantu biwe kugira kibabere umuco utandukanya ukuri n’ikinyoma, kibabere n'inzira y’ubugororotsi!”, ni na co Gitabu mwebwe abayahudi mwagize impapuro zitatanye, mwerekana zimwe, mukanyegeza nyinshi muri zo[11]. Bantu ba Muhamadi! Na mwe mwarigishijwe muri Qor’ani ivyo mutari muzi[12], mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Yo Yamanuye nya Gitabu”, hanyuma ubarekere mw’ihakana n’ityoza ryabo.","footnotes":"[11] Mu vyanyegejwe muri Tawurati, ni ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).\n[12] Muri Qor'ani, harimwo inkuru z’ivyabaye aho hambere yanyu, ibizoba muri kazoza n’ibizobashikira inyuma yo gupfa."},{"id":92,"translation":"Ntumwa y'Imana! N’iyi Qor’ani, ni Igitabu Twakumanuriye gihezagiwe, gishimangira ukuri kw’ivyamanuwe mu Bitabu vyo hambere yaco. Twakikumanuriye no kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah abantu b’i Makka, n’abandi bo mu micungararo y’aho kw’isi yose. Abemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, baremera ko Qor’ani ari amajambo y’Imana Allah, bakanatsimbataza n'amasengesho ku mwanya yagenewe."},{"id":93,"translation":"Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Itigeze Ituma Intumwa mu bantu; canke uwuvuga ati: “Narahishuriwe”, kandi Imana Allah Itigeze Imuhishurira ikintu na kimwe; canke uwuvuga ati: “Nanje ndashoboye kumanura nk’ivyo Imana Allah Yamanuye muri Qor’ani!”. Ntumwa y'Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganya mu kurementaniriza Imana Allah bamerewe igihe bari ku mpfiro, wobonye igitangaza giteye ubwoba igihe abamalayika bajejwe kwakira imishaha y’ibiremwa, bariko barababwira n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwikuremwo imishaha yanyu rero! Uno musi muhabwa igihano c’agasuzuguro gitewe n’ukuntu mwahora murementaniriza Imana Allah, n’ukuntu mwahora mugira amanyama mu kudakurikira Qor’ani n’Intumwa z’Imana Allah”;"},{"id":94,"translation":"Ku musi w’izuka naho bazobwirwa bati: “Ni ukuri mwaje guharurirwa iwacu Twebwe Allah umwumwe ku gatwe kiwe; nk’uko Twabaremye ubwa mbere kw’isi mukavuka n’ibirenge bisa, muri gusa. Ivyo Twabahaye mwahora mwishimira, vyose mwabisize inyuma y’umugongo kw’isi, nta n’umwe Tubona muri kumwe mu bigirwamana mwahora mwibaza ko vyobavugira ku Mana Allah, mukibaza n’uko bikwiye kubangikanywa n’Imana Allah. Ni ukuri ico mwapfana kw’isi carangiye, n’ivyo mwahora mwemera vyose mu bigirwamana vyazimanganye."},{"id":95,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah Isatura urutete rukagondora rukavamwo igiterwa; Isatura n’urubuto rukagondora rukavamwo igiti; Irema kizima mu capfuye[13], Igakura icapfuye muri kizima[14]. Uwushoboye rero kurema ivyo vyose, ni Yo Mana Allah, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!","footnotes":"[13] Nko kurema umuntu canke igikoko mu ntanga.\n[14] Nko kurema intanga mu muntu canke mu gikoko."},{"id":96,"translation":"Isokora umuco w’umurango mu mwijima w’ijoro iyo umutwenzi ukitse; Yagize n’ijoro akaryo ko guturura kw’ibiremwa no kuruhuka umuruho wo ku murango; Irema izuba n’ukwezi Ituma bica mu nzira-ntasobwa ku giharuro gitegekanijwe kitihenda na gato. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":97,"translation":"Ni na Yo Yabaremeye inyenyeri, Izigira ibimenyetso mumenyerako inzira mu mwijima w’ijoro ry’imusozi n’iryo mw'ibahari. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu b’incabwenge ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ubushobozi n'ububasha bw’Imana Allah mu kurema."},{"id":98,"translation":"Ni na Yo Yatanguye kubarema Ibakomoye kuri Adamu yaremwe mw’ivu, hanyuma muraheza murarondoka mu kuvyara, Ibagirira ubutururo mu bitereko vy’abagore n’ububiko bw’intanga mu ruti rw’umugongo w’abagabo. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu batahura ivyemezo vy’ubwoko bwose."},{"id":99,"translation":"Ni na Yo Ituma imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Twebwe Allah Tukanagisha ibiterwa vy’ubwoko bwose, Tugaheza Tukabikuramwo ibiterwa n’ibiti bibisi, maze Tugakura muri nya biterwa intete zicucikiranye[15], Tugakura no mu gitutwe [16] c’itende ivyamwa vy’itende zamurwa vyoroshe, Tukanagira imirima y’ivyamwa vy’imizabibu, imizayituni n’imikomamanga, vyose ugasanga birasa ku mababi, bigatandukana mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Ehe nimurabe rero ivyo vyamwa iyo bigeze gushurika n’iyo vyeze hageze kuvyamura! Mu vy’ukuri, muri ivyo vyose rero, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha bw’Imana Allah mu kurema, ku bantu bayemera bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.","footnotes":"[15] Nk’ingano n’umuceri, n’ibindi.\n[16] Igitutwe, ni agasaho itende ishurikiramwo gaheza kakisatura hageze ko iheka amashurwe. Kameze nka karya amasaka, inazi canke ikigazi bishurikiramwo."},{"id":100,"translation":"Ababangikanyamana bagize amajini abangikanywa n’Imana Allah bibaza ko hari ico yobungura canke ico yobatwara, kandi Imana Allah ari Yo Yabaremye hamwe n’ivyo bayibangikanya. Baranomekereye ku Mana Allah abana b’abahungu n’ab’abakobwa ku kutamenya ibiyiranga mu kuntu Iteye. Ukuninahazwa ni ukwayo, niyubahwe! Ntikitirirwe ivyo barementanya."},{"id":101,"translation":"Ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo ata co Irinze gufatirako. Ni gute Yogira umwana kandi Itanagira umugore! Ni Yo Yanaremye ikintu cose kibaho, ni na Yo rero burya Izi ikintu cose gikozwe n'ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":102,"translation":"Babangikanyamana! Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, nta mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, Yaremye ikintu cose kibaho, nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge. Ni na Yo rero Muhagarikizi Ibungabunga ibintu vyose;"},{"id":103,"translation":"Ntibonwa n’amaso y’ibiremwa kw’isi[17] mu gihe Yo Ibona ibiremwa vyose. Ni na Yo rero Rumenyi-Rudahishwa, Muhetuziwavyose!","footnotes":"[17] Ariko mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana bazoyibona n’amaso ukuri kwamye."},{"id":104,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mwaramaze gushikirwa n’ivyemezo bigaragara[18] bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah bitandukanya ubugororotsi n’ubuhuvyi. Uwuzobitahura rero akemera, izoba ari ineza kuri we; uwutazobitahura na we, azoba yikwegeye akarambaraye. Jewe sinjejwe kubungabunga ivyo mukora, njejwe gusa gushikiriza ubutumwa”.","footnotes":"[18] Biri muri Qor’ani n’inyigisho z’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":105,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero - Twebwe Allah Dutomora ivyemezo vyerekana ukuri kugira ngo kumenyekane - Duheza Tugatomorera ababangikanyamana ivyo batazi, kugira bahakane bigovyora bati: “Wavyigishijwe n’abahawe Igitabu”, no kugira Dutomorere ukuri abantu b’incabwenge, baheze bagukurikire[19].","footnotes":"[19] Abo, ni abemeye bakanakurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’ivyo yahishuriwe muri Qor’ani."},{"id":106,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kurikira nyabuna amabwirizwa wahishuriwe n’Imana yawe Rurema Allah, ashingiye ku kwemera ko ata mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, unirengagize ubutumva bw’ababangikanyamana."},{"id":107,"translation":"Iyo rero Imana Allah Ishaka ko batayibangikanya, ntibari kuyibangikanya, ariko Irazi neza mu vyagezwe ko bazohitamwo ibangikanyamana. Kanatsinda, ntitwakugize umubungabunzi w’ivyo bakora, eka nturi n’umuhagarikizi ajejwe kubatunganiriza uko babayeho."},{"id":108,"translation":"Bislamu! Ntimugatuke ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ku kwanka ko na bo bohava batuka Imana Allah ku kutamenya icubahiro cayo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabaryohereje gukora ibibi ku kubahana kuko ari vyo bihitiyemwo ubwabo - Turyohereza umugwi wose w’abantu ibikorwa wihitiyemwo, hanyuma bazosubizwa ku Mana yabo Rurema Allah, Iheze Ibamenyeshe ido n’ido y’ivyo bahora bakora kw’isi, Inabibahembere."},{"id":109,"translation":"Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Muhamadi aramutse abashikirije igitangaro bazocemera. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri, burya ibitangaro biva ku Mana Allah. Mbega bemeramana! Ni igiki cobamenyesha ko ivyo bitangaro mu gihe vyoshika, batovyemera!”."},{"id":110,"translation":"Burya imishaha n’amaso vyabo Turanabihindukiza Tugatuma Qor’ani ata na kimwe ibungura, gutyo ntibayemere nk’uko batigeze bayemera ubwa mbere icururuka, Tukanabarekera mu butumva bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana."},{"id":111,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo Twemerera ababangikanyamana ivyo basavye Tukabamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru, Tukanazura n’abapfuye bakemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, Tukanabegeraniriza ivyo basavye vyose mu bitangaro bakabibona imbona nkubone, ntibari kwemera ivyo ubararikira, ntibari no kuvyubahiriza namba kiretse uwo Imana Allah Ishatse muri bo ko arongoka, ariko abenshi muri bo ntibazi ukuri waje ukuye ku Mana Allah."},{"id":112,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero - Twebwe Allah Twakugeragereje ku bansi bakurwanya - Twagerageje Intumwa zose mu guhangana n’abansi b’intumva bakomoka mu bantu no mu majini, gutyo bamwe muri bo bakabwira abandi ijambo risosa ry’ubuhakanyi, kugira uwuryumvise ajane na rwo ahube inzira. Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Ishaka, ntibari kukugirira urwanko namba, iryo rikaba ari ryo geragezwa riva kuri Yo. Bareke rero ubirengagize, baheze barendegere mw'irementanya ryabo;"},{"id":113,"translation":"Kugira bumvirizwe banakurikirwe n’abafise imishaha itemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, baheze bakunde banahitemwo nya rementanya, maze barendegere mu gukora ivyo bakora mu vyaha."},{"id":114,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega nosaba gute ikitari Imana yanje kitari n’Imana yanyu Allah, ko coruducira jewe na mwe, kandi ari Yo Yabamanuriye Igitabu ca Qor’ani gitomora neza ingingo yofatwa ku vyo duhazanako!”. Kira noneho, n’abo Twahaye Igitabu ca Tawurati n’ic’Injili, barazi neza ko Qor’ani wayimanuriwe vy’ukuri n’Imana yawe Rurema Allah. Ntukabe namba mu bafise amakenga rero ku vyo Twaguhishuriye."},{"id":115,"translation":"Ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah rya Qor’ani, riratunganye mu gushikiriza ukuri mu mvugo n’ingiro no mu ngingo zayo, nta woshobora guhindura na kimwe mw’ijambo ryayo, ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu."},{"id":116,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu gihe vyoshika ukumvira abenshi mu bantu bo kw’isi, boguhubisha inzira y’idini ry’Imana Allah. Kira noneho, ntibakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse ugukekeranya gusa."},{"id":117,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi bikwiye uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza n'abagororotsi."},{"id":118,"translation":"Bislamu! Murafungura rero inyama z’ivyakerewe habanje kuvugwa izina ry’Imana Allah nimwaba mwemera vy’ukuri ivyemezo vyayo."},{"id":119,"translation":"Mbega ni igiki cobabuza gufungura inyama z’ivyakerewe habanje kuvugwa izina ry’Imana Allah, kandi Imana Allah Yaramaze kubatomorera ivyo Yaziririje ko mufungura! Ariko ku mvo zo kurokora ubuzima, n’ivyaziririjwe nyene murarekuriwe kuvyikorako. Mu vy’ukuri, abenshi mu bahuvye, ni ukuri bisunga ivyipfuzo vyabo mu guhubisha abantu inzira y’Imana Allah, mu kuzirura ivyaziririjwe no mu kuziririza ivyaziruwe ku bujuju bwabo. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abarenga ku mabwirizwa yayo, ni na Yo Izobaharurira Ikanabahembera ivyo bakoze."},{"id":120,"translation":"Bantu! Nimureke munavavanure n’ivyaha vyose, ibikorerwa ku mugaragaro muri vyo n’ibikorerwa mu mpisho. Mu vy’ukuri, abakora ivyaha bazohanwa n’Imana Allah ku vyo bahora bakora."},{"id":121,"translation":"Bislamu! Ntimugafungure rero inyama z’ivyakerewe hatabanje kuvugwa izina ry’Imana Allah[20]. Mu vy’ukuri, ukuzifungura ni ubutumva bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, intumva mu majini, ni ukuri zosha abahagarikizi bazo mu ntumva z’abantu gukora ibitera amakenga mu gufungura intumvyi, kugira zibaharirize ku vyerekeye iyo ngingo[21]. Nimwaramuka rero muzumviye mu kuzirura ivyaziririjwe, ni ukuri muzoba ababangikanyamana nkabo.","footnotes":"[20] Nk’intumvyi, icakererewe ibigirwamana canke amajini, n’ibindi.\n[21] Bakigovyora bati: “Kudafungura intumvyi, ni nko kudafungura ivyishwe n’Imana Allah mu gihe mubikereye kw'Izina ryayo”."},{"id":122,"translation":"Mbega burya akarorero k'umuntu w'igipfamutima ajuragirika mu muzimagiza w'ubuhuvyi, maze Tukamuha ubuzima bw’umushaha akemera, akanakurikira n’Intumwa zacu, Tukamuha n’umuco w’ubugororotsi, ni nk’ak’uwuri mu muzimagiza w'ubuhuvyi butagira uko busa, adashoboye kubuvamwo, ata ni co bumukuramwo! Eka abo nta ho basa basana namba! Ni nk’ukwo nyene rero abagararije baryoherejwe ivyaha bahora bakora kugira bazobihanirwe."},{"id":123,"translation":"Ni nk’uko nyene rero - vyashikiye abagarariji b’i Makka bakaburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah - Twatumye mu gacimbiri ako ari ko kose haba intumva zirongowe n’indongozi zazo, kugira zitegure zinashire mu ngiro ubwononyi bwo kurwanya idini ry’Imana Allah, burya ubwo bwononyi zigira, nta wundi buzogarukako atari kuri zo, n’aho ata vyo zumva."},{"id":124,"translation":"Iyo ababangikanyamana b’i Makka bashikiriwe n’icemezo kigaragara cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, bamwe mu ndongozi zabo baca bavuga bati: “Ntituzokwigera twemera ubutumwa bwiwe gushika Imana Allah Itugize intumwa, Inaduhe n’ibitangaro nk’ivyo Yahaye Intumwa zayo z’aho hambere”. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza uwo Ikwiye gushinga ubutumwa bwayo. Inkozi z’ikibi zizosuzugurika imbere y’Imana Allah, zinahabwe ibihano ruhasha, bitewe n’ubwononyi zahora zikora bwo kurwanya idini."},{"id":125,"translation":"Uwo Imana Allah Ishatse gushoboza kuba umugororotsi, Yorosha umushaha wiwe ugaheza ukemera ubwislamu; uwo Ishatse guhubisha na we, Iremereza umushaha wiwe ugaheza ukananirwa kwemera ukuri, akaba nk’umuntu aduga mu kirere ananiwe, ahezagirika, adashobora no guhema. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Iha ibihano abatayemera, kubera ubutumva bwabo."},{"id":126,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyi rero, ni yo nzira igororotse igana ku gushimwa n’Imana yawe Rurema Allah no ku Bwami bwayo. Ni ukuri, Twaratomoreye ivyemezo vy’ubwoko bwose abantu b’abanyabwenge bibuka bakikebuka;"},{"id":127,"translation":"Bafise icumbi ry’iteka n’itekane mu Bwami bw’ijuru bategekanirijwe n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ni na Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wabo ku vyiza bahora bakora."},{"id":128,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka ibizoshika ku musi w’izuka, umusi Imana Allah Yegeranirije hamwe abagarariji n’abahagarikizi babo mu mashetani, Igaca Ibabwira Iti: “Emwe mashetani mu majini! Ni ukuri mwarahubishije benshi mu bantu gushika n’aho babakurikira”, maze abayakurikiye mu bantu na bo bakavuga biregura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Bamwe bose muri twebwe baragize ico biyunguye ku bandi, gushika ikiringo cacu ca nyuma Watugeneye kubaho kw’isi giheze”. Imana Allah Izoheza Ibishure Iti: “Umuriro, ni bwo buraro n’uburamuko bwanyu mwese, kiretse uwo Imana Allah Ishatse ko atazoherayo mu bigaba vy’abemeramana”. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose, Irazi indishi ikwiye umwe wese mu biremwa."},{"id":129,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma amashetani ashobora kugota abagarariji mu bantu ku bugaba bwabo - Dutuma abirenganya mu kugabitanya ku Mana Allah bashobora kugota bamwe muri bo, bitewe n'ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw’isi;"},{"id":130,"translation":"Bazobwirwa bati: “Emwe bagarariji mu majini no mu bantu! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zarungitswe muri mwebwe abantu[22], zikabiganira Aayah zanje zibatomorera amabwirizwa yanje, zikanabagabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryanyu?”. Abagarariji bazoca bishura bati: “Ego cane! Turavyemanga ko Intumwa zawe zadushikirije Aayah zawe, zikanatugabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryacu, maze turazihakana twivuye inyuma”. Bahenzwe rero n’ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi, bazoheza kandi rero bemange ubwabo ko bari abagarariji, batemera Imana Allah n’Intumwa zayo.","footnotes":"[22] Insiguro yumvikana muri iyi Aayah, ni uko Intumwa zarungitswe ku bantu no ku majini, zikomoka mu bantu."},{"id":131,"translation":"Irungikwa ry'Intumwa zibangikanije Igitabu ku bantu n'amajini rero, ryabaye kuko Imana yawe Rurema Allah Itari guhana mu guhonya abantu Ibahora ubuhakanyi bwabo, kandi batigeze bashikirwa n’Intumwa zibakura mu bubegito bwabo."},{"id":132,"translation":"Uwo wese rero yumviye canke ahakanye Imana Allah, arafise urugero rw’aho ageza mu vyo akora, maze Imana Allah Ikazobimuhembera. Ntumwa y'Imana! Burya rero kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyirengagiza ibigirwa n’abaja bayo."},{"id":133,"translation":"Imana yawe Rurema Allah Yabwirije ko Yosengwa, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo nkomoko y'impuhwe ku biremwa. Bantu! Ishatse rero Yobahonya Ikabasubiriza ibindi biremwa Ishaka bigaheza bikayumvira; nka kurya Yabaremye mugaheza mukarondoka mukomotse ku bandi bantu."},{"id":134,"translation":"Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, ivyo musezeranirwa mu bihano, ni ukuri bizobashikira, kandi rero ntimuzonanira Imana Allah ngo muyihunge, kuko Irashoboye kubagarukana Ikabazura n’aho mwoba mwaracitse ivu."},{"id":135,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimugume ku vyo mwemera, mukore nk’uko muvyipfuza, jewe na nje mpeze ngume ku vyo nemera nk’uko nategetswe n’Imana yanje Allah, igihe ibihano vyashitse, muzoheza mumenye uwuzogira amaherezo meza kw’isi. Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubangikanya Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":136,"translation":"Ababangikanyamana bageneye Imana Allah umugabane mu vyo Yaremye mu biterwa, mu vyamwa no mu bitungwa, ari na wo baherezako abakene bakanazimanako n’abashitsi, baraheza bavuga bati: “Umugabane w’ibi, ni uw’Imana Allah - ku vyipfuzo vyabo - umugabane wundi na wo, ni uw’abahagarariye ibigirwamana vyacu”. Ivyo bageneye abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo rero, nta na kimwe muri vyo gishikira Imana Allah [23]; mu gihe ivyo bageneye Imana Allah, biheza bigahabwa abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo; kuko ngo Imana Allah Irikenuye. Ni mbi cane ingingo y’igabura ryabo!","footnotes":"[23] Ngo gitangweko imperezwa canke ngo gihabwe abakene, ahubwo gihabwa ibigirwamana biciye ku babihagarikiye."},{"id":137,"translation":"Ni nk’uko nyene rero shetani - yoheje ababangikanyamana kugena umugabane w’Imana Allah n’uw’ibigirwamana - yaryohereje benshi mu babangikanyamana kwica abana babo ku mvo zo gutinya ubukene, kugira bagwe mu bihano bihonya vyo kwica kiremwa-muntu ku karenganyo, no kugira bazazanirwe mw’idini ryabo, baheze bahube. Iyo Imana Allah Ishaka rero ko bitaba, ntibari kuzazanirwa namba mw’idini ryabo, kuko Izi mu vyagezwe ububegito bwabo. Ntumwa y’Imana! Bareke rero n’ivyo barementanya, Imana Allah Izorubacira."},{"id":138,"translation":"Ababangikanyamana baranavuze bati: “Ibi bitungwa n’ibiterwa twageneye ibigirwamana birakingiwe, nta wurekuriwe kuvyikorako kiretse uwo dushaka mu babihagarariye, no mu bandi. Ivyo rero babivuga ku vyipfuzo vyabo. Hanyuma bati: \"Izi ngamiya na zo kirazira kuzurira canke kuzihekako ikintu na kimwe”. Hakaba rero n’izindi ngamiya mu kuzikoresha ikintu ico ari co cose, batigera baninahaza Imana Allah. Ivyo vyose rero, babikora mu kurementaniriza Imana Allah. Imana Allah rero, Izobahembera ivyo bahora bayirementaniriza."},{"id":139,"translation":"Baranavuze kandi bati: “Ibitungwa bifise amezi biramutse bivyaye imyagazi ikomeye, iyo myagazi izoba igenewe gusa abagabo muri twebwe, izoba iziririjwe ku bagore bacu”; mu gihe iyo myagazi ivyawe yapfuye, baraheza bakayisangira. Imana Allah Izobahembera rero iryo zirura n’iziririza ritigeze rigirwa na Yo. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose, Irazi indishi ikwiye umwe wese mu biremwa."},{"id":140,"translation":"Ni ukuri, abishe abana babo kw’ikehabwenge no ku kutamenya bakanaziririza ivyo baronkejwe n’Imana Allah mu kuyirementaniriza[24], bari mu ruhombo rw'agahebuza. Ni ukuri, barahuvye inzira y’ukuri, kira noneho ntibari no mu bagororotsi.","footnotes":"[24] Ukuzirura no kuziririza, biri mu bintu vyega gusa Imana Allah. Ikiziruye, ni icaziruwe n’Imana Allah, ikizira na co ni icaziririjwe n’Imana Allah. Nta n’umwe rero mu biremwa, arekuriwe gushingira ibiremwa amateka mu buryo butarekuwe n’Imana Allah."},{"id":141,"translation":"Imana Allah ni Yo Yaremye amashamba, muri yo hari ay’ibirandaranda hejuru bikaba nk'igisenge; nka kurya kw’imizabibu; hakaba n’ay’ibitarandaranda hasi bihagaze ku gitumbatumba nk’ibiti vy’itende, n’ibindi biterwa bifise akanovera gatandukanye; hari n’imizayituni n’imikomamanga, usanga amababi yavyo asa, ariko bitandukanye mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Nimufungure rero ivyamwa vyavyo igihe vyamye, muheze munatange ishikanwa-bwirizwa ryavyo ku musi wo kwamura canke wo gusoroma; kandi rero ntimuzosesagure mu kurenza urugero rw’ibitangwa mw’ishikanwa-bwirizwa canke mu gufungura, n’ibindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura mu gutanga amatungo mu bidakenewe."},{"id":142,"translation":"Imana Allah Yaremye no mu bitungwa ibishobora kwikorera; nk’ingamiya, n’ibindi bidashoboye kwikorera; nk’inka n’intungwa. Muraheza rero mufungure mu vyo mwaronkejwe n’Imana Allah muri ivyo bitungwa, ntimuzohirahire ngo mukurikire inzira za shetani zo kuziririza ivyaziruwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara;"},{"id":143,"translation":"Ivyo bitungwa rero biri mu moko umunani, hari ane mu ntungwa; impfizi y’intama n’intamakazi, impfizi y’impene n’impenekazi. Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “None Imana Allah Yaziririje gusa impfizi z’intungwa?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza impfizi y’intungwa iyo ari yo yose. Babaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje gusa intamakazi n’impenekazi?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza intamakazi n’impenekazi izo ari zo zose. Ongera ubabaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje umwagazi ukiri mu nda y’intama n’uwuri mu nda y’impene?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza umwagazi uwo ari wo wose ukiri mu nda ya nyina. Babwire rero uti: “Nimunyishure mwisunze ubumenyi bwemeza ukuri ku vyo muvuga nimwaba muri imvugakuri!\"."},{"id":144,"translation":"Ayandi moko ane mu bitungwa, ni impfizi y’ingamiya n’imvyeyi yayo, impfizi y’inka n’imvyeyi yayo. Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “None Imana Allah Yaziririje impfizi y’ingamiya n’impfizi y’inka, canke imvyeyi y’ingamiya n’imvyeyi y’inka? Canke Yaziririje inyana ikiri mu nda y’ingamiya canke iyiri mu nda y’inka? Canke mwoba ari ho mwari muri, igihe Imana Allah Yabaha ibwirizwa ry’iri ziririzwa ry’ibitungwa!”. Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah; kugira ahubishe abantu inzira y’ukuri ku bujuju bwo kutamenya. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza gutumbera inzira igororotse abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":145,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta kintu nsanga kiri mu vyo nahishuriwe kizira gufungura mu vyo muziririza mu bitungwa, kiretse mu gihe coba ari intumvyi, ari ikiremve[25], ari inyama y’ingurube isanzwe mu vy’ukuri ihumanye, canke kikaba ari icakerewe ku bw’ikitari Imana Allah[26]. Uwo bizoba ngombwa rero ko afungura kuri ivyo biziririjwe mu gihe ageramiwe n’inzara, atari ku mvo zo kuryoherwa canke kurenza urugero rwo kwivuna inzara, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Izomubabarira, Nyenimbabazi ku batoni bayo[27]”.","footnotes":"[25] Ubuseri.\n[26] Canke icakerewe hatabanje kuvugwa izina ry’Imana Allah.\n[27] Hongerwako ivyaziririjwe mu nyigisho z’intumwa, na vyo ni igihiga kigafatisha amenyo mu bikoko, igihiga kigafatisha ivyara mu nyoni, indogobwe z’inyororano hamwe n’imbwa."},{"id":146,"translation":"Twebwe Allah Twaranaziririje ku bayahudi, gufungura inyama z’ibikoko bifise ibinono bidasatuye hamwe n’iz’inyoni[28]. Twaraziririje kandi n’ibinure vy’inka n’ivy’intungwa, kiretse ibinure bisigara ku nyama canke ku mara yavyo, canke ibiri mw’igufa. Iryo ziririza rero, Twaribwirije abayahudi ku kubahanira ivyaha vyabo. Kandi mu vy’ukuri, Twebwe Allah Tuvugisha ukuri ku ngingo Twabahaye.","footnotes":"[28] Nk’ingamiya, canke imbata, canke ubwoko bw'inyoni nini idashobora kuguruka, yitwa mu carabu \"Na’aama\", mu giswahili \"Mbuni\", mu gifaransa ikitwa \"Autruche\"."},{"id":147,"translation":"Ababangikanyamana b’abayahudi, nibaramuka baguhakanye mu vyo ushikiriza, urababwira uti: “Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenimpuhwe-ntangere kuko Itihutiye kubahana. Ibihano vyayo na vyo iyo bishitse, nta kibuza inkozi z’ikibi guhanwa[29]”.","footnotes":"[29] Iyi Aayah irahigira abahakana bivuye inyuma Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko bazohanwa."},{"id":148,"translation":"Ababangikanije Imana Allah biregura bati: “Iyo Imana Allah Ishaka ntitwari kuyibangikanya, eka n’abavyeyi bacu ntibari kuyibangikanya, ntitwari no kuziririza ikintu na kimwe mu vyo Yaziruye”. Ni nk’ico cireguzo nyene abagarariji bo hambere yabo bitwaje, bashoka bahakana Intumwa, baranashishikara guhakana kugera aho bahonjeye ibihano vyacu Twebwe Allah. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mwoba mufise ubumenyi nya bwo ku vyo muziririza no ku vyo muvuga, mugaheza mukatugaragariza icemezo cavyo! Kira noneho, ntimukurikira mw’idini kiretse ivyo mukekeranya, nta n’ico muzi kiretse ugukekeranya gusa”."},{"id":149,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Burya Imana Allah Irafise icemezo gitandukanya ukuri n’ikinyoma mu kurungika Intumwa no mu gushinga amateka. Iyo rero Ishaka, ni ukuri Yari kubashoboza mwese kuba abagororotsi, Ikabima ishaka ryo kwihitiramwo”."},{"id":150,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimuzane rero ivyabona vyanyu vyemeza ko Imana Allah Yaziririje ivyo muziririza mu biterwa no mu bitungwa!”. Nibavyemeza mw’irementanya, ntuzohirahire ngo ube icabona hamwe na bo mu kuvyemeza, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vy’abahakanye Aayah zacu Twebwe Allah mu kuziririza, canke mu kuzirura ivyaziririjwe n’Imana Allah, ntukanakurikire n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, batanabwitegurira, n’abirengagiza Imana yabo Rurema Allah bakayibangikanya n’ibiremwa."},{"id":151,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuze rero ndabasomere ivyaziririjwe n’Imana yanyu Rurema Allah, ko mutoyibangikanya n’ikindi kintu mu biremwa; ko mwoba abagwaneza ku bavyeyi banyu mukabubahiriza mukanabasabira ku Mana Allah; ko mutokwica abana banyu bitewe n'ubukene, burya ni Twebwe Allah Tubaronsa ibibabeshaho mwebwe hamwe na bo; ko mutokwegera ivyaha rutura mugaheza mukavavanura na vyo, Ibikorerwa ku mugaragaro muri vyo n’ibikorerwa mu mpisho; ko mutokwica umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri [30]. Ivyo mudondaguriwe rero, ni vyo Imana Allah Yababujije, Ibaha n’iragi ryo kutabikora kugira mube abanyabwenge, mutahure amabwirizwa yayo;","footnotes":"[30] Mu kwica uwishe, uwasambanye yari yubatse urwiwe canke uwutaye idini ry’ubwislamu akarivamwo."},{"id":152,"translation":"Ntimukegere n'amatungo y’impfuvyi muhagarariye ngo muyakoreshe, kiretse mu kuyiyatunganiriza gushika igere mu bigero, ishobore kuyitunganiriza. Ba mukwiza ingero n’umunzane mu buryo butunganye[31]. Nimwitwararika rero gukwiza ingero n’umunzane uko mushoboye, bizoba bikwiye, Twebwe Allah ntidutegeka umuntu gukora kiretse ivyo ashoboye. Nimwaramuka muvuze, na ho nyene muritwararika kuba intungane mu vyo muvuga[32] n’aho mwobera ivyabona abavandimwe banyu, kandi n’isezerano Imana Allah Yabahaye ryo kwubahiriza amabwirizwa yayo, muraryubahiriza. Izo ngingo mudondaguriwe rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira mwikebuke, muheze mwibuke ingaruka z’ubuhakanyi bwanyu;","footnotes":"[31] Ata co murengejeko ata n’ico mugabanijeko.\n[32] Mu gushikiriza inkuru, ingingo canke kuvugira umuntu no mu kuba ivyabona."},{"id":153,"translation":"Biri mw’iryo ragi nyene Imana Allah Yabahaye, ko ubwislamu ari yo nzira yayo igororotse, ikaba ari na yo nzira yanje nategetswe gukurikira, nimuyikurikire rero, kandi ntimuzohirahire ngo mukurikire inzira z'ubuhuvyi bwa shetani ngo zibateshe inzira y’Imana Allah. Ukwo gukurikira iyo nzira igororotse rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira muyitinye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”."},{"id":154,"translation":"Ntumwa y'Imana! Babwire kandi ko ari Twebwe Allah Twanahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu ntumbero yo gukwiriza abagwaneza mu bantu yarungitsweko inema zacu, no mu gutomora ingingo y’ikintu ico ari co cose mu vyerekeye idini ryabo, no kugira rero nya Gitabu kibabere inzira y’ubugororotsi n’impuhwe, baheze bemere ko hari izuka ry’ibiremwa, banaryitegurire."},{"id":155,"translation":"N’iyi Qor’ani rero, ni Igitabu gihezagiye Twamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Enda rero nimugikurikire mu kwubahiriza amabwirizwa yaco, muniyubare kuyarengako kugira mugire impuhwe z’Imana Allah."},{"id":156,"translation":"Bagarariji mu Barabu! Twamanuye Qor’ani kugira ntimuzovuge mwiregura muti: “Emwe! Mu vy’ukuri abamanuriwe Ibitabu, ni imigwi ibiri y’abayahudi n’abanaswara y’aho hambere yacu, kandi nta n’ubumenyi bwo kubitahura twari dufise”;"},{"id":157,"translation":"No kugira rero ntimuzovuge mwiyeza muti: “Iyo tuja kumanurirwa Igitabu, ni ukuri twari kuba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara”. Bantu rero mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)! Ni ukuri mwaramaze gushikirwa na Qor’ani, ari na co cemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ikaba n’uburongozi n’impuhwe kuri mwebwe. Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwahakanye yivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah akanavyirengagiza. Twebwe Allah, Tuzoha abirengagije Aayah n'ivyemezo vyacu ibihano ruhasha, bitewe n'ukuntu bahora bavyirengagiza bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu."},{"id":158,"translation":"Abirengagiza Aayah n'ivyemezo vyacu bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu, nta co barindiriye kugira bemere atari uko bashikirwa n’umumalayika ajejwe urupfu n’abafasha biwe ku musi wo gupfa; canke ko Imana Allah Iza Ikarubacira ku musi w’izuka; canke ko bashikirwa na bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w’isi wageze[33]. Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ko ico gihe kibashikira kugira muheze mutandukanye ukuri n’ikinyoma, mumenye inkozi y’ikibi n’umugwaneza. Mu vy’ukuri, na twe nyene turarindiriye ico gihe”.","footnotes":"[33] Nko guserukira izuba mu burengero bwaryo."},{"id":159,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abacanyemwo mw’idini ryabo bakicamwo imigwimigwi, nta na kimwe ubabazwako. Bazoharurirwa n’Imana Allah, Iheze Ibabwire ido n'ido y'ivyo bari baragize kw’isi, Inahembe umwe wese ku rugero rw'ivyo yakoze."},{"id":160,"translation":"Uwo wese rero azohura n’Imana Allah ku musi w’izuka yarakoze iciza, azoheza agihemberwe kigwijwe incuro cumi; nayo uwuzohura na Yo yarakoze ikibi, ntazohabwa kiretse igihano c’ikibi kimwe yakoze, abo bose rero nta na kimwe bazorenganywako."},{"id":161,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah Yarandongoye mu nzira igororotse igana mu Bwami bw’ijuru, ari ryo dini ry’ubwislamu ritomora ingingo zerekeye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, ni na ryo dini ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”."},{"id":162,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Mu vy’ukuri, isengesho ryanje, ikerera ryanje ry’ibitungwa[34], ubuzima bwanje no gupfa kwanje, vyose biba ku bw’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;","footnotes":"[34] Ikerera riba ku bw’Imana Allah no kw’izina ryayo, ntiryigera riba ku bw’ibigirwamana, ku bw’amajini canke ku bw’imizimu n'abaganza, ntiryigera riba no kw’izina rya kimwe muri vyo."},{"id":163,"translation":"Iyo Mana Allah, ntibangikanywa n’ikintu na kimwe mu bumana bwayo, canke mu bushobozi n'ububasha bwayo bwo kurema, canke mu mazina no mu matazirano yayo. Ivyo, ni vyo biranga ukwemera nategetswe n’Imana yanje Allah, kandi ni jewe nabaye uwa mbere mu bantu narungitsweko yemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende."},{"id":164,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Hari ikitari Imana Allah nshaka ko coba imana yanje, kandi ari Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’ikintu cose! Nta muntu n'umwe akora icaha kiretse ko ari we nyene azogihanirwa ku gatwe kiwe, nta n’umuntu n'umwe azohanirwa icaha ca mugenziwe. Hanyuma ubwegeranirizo bwanyu ku musi w’izuka, ni ku Mana Allah, Izoheza Ibabwire ivyo mwahora muhazanako mw’idini”."},{"id":165,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabaremye mukurakuranwa kw’isi, Ibashinga gutunganya ivy’isi mwubahirije amabwirizwa yayo, Iraheza Irabasumbasumbanya mu kubaronsa ibibabeshaho no mu kubaremana imirya, kugira Ibagerageze mu vyo Yabaronkeje. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Iranyarutsa guhana abagarariza bagabitanya. Ni ukuri, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."}]},{"id":7,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif laam Miim Swaad[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu wahishuriwe. Ntukagire rero amakenga mu mushaha wawe ko wakimanuriwe n’Imana Allah; kugira ugabishe abagarariji wongere wibutse abemeramana."},{"id":3,"translation":"Bantu! Nimukurikire ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwubahirize amabwirizwa ari muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, ntimuzokurikire ikitari Imana Allah mu bahagarikizi nka shetani n’abandi batwarwa n'ivyipfuzo vyabo, ni gake rero mwibuka ngo mugaruke ku kuri."},{"id":4,"translation":"Hari uducimbiri twinshi Twebwe Allah Twahoneje abatubamwo kubera uguhakana no guca kubiri n’Intumwa zacu, baraheza baruhira kumaramara kw’isi n’agasuzuguro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Muri bo, hari abashikiwe n’ibihano vyacu mu gihe bari baryamye mw’ijoro, hari n’abo vyashikiye mu gihe bari bakitse urubavu baruhutse ku murango[2];","footnotes":"[2] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe baruhutse ku murango, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe vyo guturura no kuruhuka, bibabaza cane bigatera n'agahinda."},{"id":5,"translation":"Nta co bavuze igihe bashikirwa n’ivyo bihano kiretse ukwemanga bati: “Mu vy’ukuri, twarirenganije mu gucumura, ibihano turabikwiye koko”."},{"id":6,"translation":"Kubera ivyo rero, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobaza imigwi y’abarungikiwe Intumwa, ko yazitabiriye! Ni ukuri, Tuzobaza n’Intumwa nyene, ko zashikirije ubutumwa n’ukuntu zitabiriwe!"},{"id":7,"translation":"Tuzoheza rero Tubwire ibiremwa ido n'ido y’ivyo bakoze, Twisunze ubumenyi Dufise ku vyo bakoze vyose mu kwubahiriza amabwirizwa yacu; kira noneho, ntitwigeze Tuba kure yabo mu bihe vyose;"},{"id":8,"translation":"Ugupimwa kw’ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, kuzogirwa ku munzane w’ukuri utarenganya namba. Uwo wese rero ibikorwa vyiwe vyiza bizoremera ku munzane, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru;"},{"id":9,"translation":"Nayo uwo ibikorwa vyiwe vyiza bizoba bihwahutse ku munzane, uyo rero azoba ari mu bantu bahomvye ubuzima bwabo ku kurenga ku mabwirizwa, no guhakana Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah."},{"id":10,"translation":"Bantu! Ni ukuri, Twarabatsimbataje kw’isi muraturura, Tubaha n’uburyo bwo kubaho mu mfungurwa n’ibinyobwa; hamwe n’ivyo rero, ni gake cane mushima inema z’Imana Allah."},{"id":11,"translation":"Ni ukuri, Twarabaremeye inkomoko-muntu mu kurema so wanyu Adamu, Turaheza Tubaha n’ishusho ryiwe ryiza mu kurondoka, hanyuma Tubwiriza abamalayika Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza baragamburuka baramwubamira bose. Ariko Ibilisi[3] yari asanzwe ari kumwe na bo, ntiyari mu bubamiye Adamu ku kumusharika kuri ico cubahiro ahawe.","footnotes":"[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani)."},{"id":12,"translation":"Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Ni igiki cagutumye utamwubamira kandi Nabigutegetse?”. Ibilisi yarishuye ati: “Jewe ndi intore kumuruta kuko Wandemye mu rubeya, na we Umurema mw’ivu”."},{"id":13,"translation":"Ni ho Imana Allah Yabwira Ibilisi Iti: “Manuka rero uve mu Bwami bw’ijuru, ntukwiye kubugiriramwo amanyama, buvemwo mu vy’ukuri uri mu basuzuguritse”."},{"id":14,"translation":"Ibilisi amaze kwihebura yabwiye Imana Allah ati: “Mpa kuramba rero gushika ku musi w’izuka[4]”.","footnotes":"[4] Sinzohitanwe n’umuhero w’isi kugira nshishikare guhubisha Bene Adamu."},{"id":15,"translation":"Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Mu vy’ukuri, Ndaguhaye kuramba gushika ku musi w’imperuka, igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose”."},{"id":16,"translation":"Ibilisi yabandanije ahigira Bene Adamu anaga urutoke avuga ati: “Kubera ko Wampubishije ga Mana! Ni ukuri nzokwita ku rutare mu guhubisha Bene Adamu inzira yawe igororotse y’ubwislamu, ishingiye ku kwemera-ndemanwa."},{"id":17,"translation":"Hanyuma ni ukuri, nzobaturuka mu mpande zose; imbere n'inyuma, iburyo n’ibubamfu, mpeze ndabaryohereze ivy’isi, ndabatere amakenga mu kwemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntuzokwigera Usanga abenshi muri bo bashima inema zawe”."},{"id":18,"translation":"Imana Allah Yabwiye Ibilisi Iti: “Sohoka uve mu Bwami bw’ijuru ushavuriwe, womowe muri bwo. Ni ukuri, umuriro wa jahannamu Nzowuzuza abazogukurikira muri Bene Adamu, muri kumwe ikivunga”."},{"id":19,"translation":"Ewe Adamu! Cumbika wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa mu Bwami bw’ijuru, muheze mufungure aho mushaka mu vyamwa vyabwo. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu bantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":20,"translation":"Ni ho rero shetani yabosha kurenga kw’ibwirizwa ryo kudafungura icamwa ca nya giti, kugira bahanirwe ico gicumuro mu kwambikwa ubusa ubwambure bwabo, butari bwigere bugaragara. Yaboheje avuga ati: “Burya rero Imana yanyu Rurema Allah ntiyababujije gufungura icamwa c’iki giti, atari uko mwohava muba abamalayika, canke mukaba mu bantu bazobaho ibihe bidahera mu Bwami bw’ijuru”."},{"id":21,"translation":"Ibilisi yararahiye ararengwa kw’izina ry’Imana Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mu bahanuzi banyu beza nobagira inama ko mwofungura kuri ico giti”."},{"id":22,"translation":"Ibilisi yaratumye rero bubahuka ku guhendwa, baraheza barafungura kuri ca giti. Bamaze kugifungurako, ubwambure bwabo bwaciye bugaragara, bashoka batangura guhungurura amababi y’ibiti ngo bayipfukishe ku bwambure[5]. Ni ho rero Imana yabo Rurema Allah Yabahamagara Iti: “Sinababujije gufungura icamwa ca kirya giti, nkanababwira ko mu vy’ukuri shetani ari umwansi wanyu agaragara!”.","footnotes":"[5] Iyi Aayah irerekana ko ukugaragaza ubwambure ari ikintu kibi kinateye isoni, n’uko camye ari ikintu kitarekuwe mu mico kama ya kiremwa-muntu."},{"id":23,"translation":"Adamu na Hawa bavuze batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti, nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo[6]”.","footnotes":"[6] Aya rero, ni yo majambo Imana Allah Yeretse Adamu kugira ayasabishe mu kwigaya, Imana Allah na Yo Iraheza Iramubabarira."},{"id":24,"translation":"Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa hamwe na Ibilisi Iti: “Nimumanuke kw’isi, muzoba abansi hagati yanyu, kw’isi ni ho mufise uburaro n’uburamuko, muzoryoherwa akanya gato gushika umusi w’urupfu rw’umwe wese”."},{"id":25,"translation":"Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Kw’isi ni ho muzoba mwebwe n’uruvyaro rwanyu ubuzima bwo kw’isi, ni na ho muzopfira hageze gupfa, ni no mw’isi nyene muzozurwa umusi w’izuka”."},{"id":26,"translation":"Emwe Bene Adamu! Ni ukuri, Twarabaremeye inyambarwa zipfuka ubwambure bwanyu[7], n’izindi zo gushaza mukaberwa[8]. Inyambarwa yo gutinya no kugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nyambarwa ibereye umwemeramana. Ivyo, Imana Allah Yabibatomoreye mu vyemezo vyayo kugira mwibuke inema zayo muheze muyishimire.","footnotes":"[7] Iyi, ni yo nyambarwa itegetswe itegerezwa kwambarwa kuko ipfuka ubwambure kizira kubugaragaza.\n[8] Iyi na yo, ni inyambarwa yo kurenzako ku gushaza, umwe wese yisunze uburyo afise."},{"id":27,"translation":"Emwe Bene Adamu! Shetani ntikabahende ku kubaryohereza ibicumuro nk’uko yaryohereje ibicumuro abavyeyi banyu Adamu na Hawa, ikabakura mu Bwami bw’ijuru, ikabambura inyambarwa zari zipfutse ubwambure bwabo kugira basigare bari gusa. Mu vy’ukuri, shetani n’uruvyaro rwayo barababona mu gihe mwebwe mutababona, nimubiyubare rero. Mu vy’ukuri, amashetani Twayagize abahagarikizi b’abatemera Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo;"},{"id":28,"translation":"Iyo bakoze ivyaha bavuga biregura bati: “Ni ryo ragi twarazwe n’abavyeyi bacu, ni ko twasanze bagira. Ni na vyo Imana Allah Yatubwirije”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntibwiriza gukora ivyaha. Mbega muvuga murementaniriza Imana Allah ivyo mutazi?”."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah Yababwirije gutunganiriza abantu, Ibabwiriza no kuyitumbera muyiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende aho muzoba muri hose, canecane mu misigiti; ibabwiriza no kuyisaba mweza idini ryayo, mwemera izuka ry’inyuma yo gupfa; nk’uko Yashoboye rero kubarema ubwa mbere, Irashoboye kandi kubazura mukomeye”."},{"id":30,"translation":"Imana Allah Yagize mu biremwa imigwi ibiri; umugwi w’abo Yashoboje gutumbera inzira igororotse n’umugwi w’abagiriwe n’ubuhuvyi. Abo rero bagiriwe n’ubuhuvyi, mu vy’ukuri bagize amashetani abahagarikizi, baraheza barayumvira mu gishingo c’Imana Allah ku bujuju bwo kutamenya, bibaza ko batumbereye inzira y’ubugororotsi."},{"id":31,"translation":"Emwe Bene Adamu! Igihe cose muzoshaka gusenga, murambara inyambarwa zibakwiye, zisukuye, mushaze. Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura”."},{"id":32,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde yaziririje ugushaza mu vyambarwa vyiza Imana Allah Yaremeye abaja bayo, akabuza gufungura ivyiza birekuwe mu ngabirano zayo!”. Babwire uti: “Ivyo vyambarwa n’imfungurwa, birekuriwe abemeramana mu buzima bwo kw’isi nk’abandi bose, bikazoba bigenewe abemeramana gusa ku musi w’izuka”. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazi bagatahura ivyo babwirwa."},{"id":33,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[9], ibikorerwa ku mugaragaro n’ibikorerwa mu mpisho; Inaziririza gukora ibicumuro vy’ubwoko bwose, na canecane ukurenganya abantu, kuko guciye kubiri n’ukuri. Yarongeye Iziririza kandi kubangikanya Imana Allah kuko Itigeze Imanura icemezo kibirekura, hamwe rero no kwomekera ku Mana Allah iziririza n’izirura ry'ibintu mutabifitiye ivyemezo vy’ukuri”.","footnotes":"[9] Nko gusambana kw’umugore n’umugabo canke kw’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi."},{"id":34,"translation":"Umugwi wose w’abagarariji urafise isango ryo guhanirwako; igihe c’iryo sango ry’igihano kigeze, uwo mugwi ntuzohabwa irindi sango, eka ntirizonasubizwa inyuma ngo uhanwe hataragera."},{"id":35,"translation":"Emwe Bene Adamu! Nimwashikirwa n’Intumwa zanje zirungitswe muri mwebwe, zibasomera Aayah z’Igitabu canje, zikanabatomorera ivyemezo vyerekana ukuri kw’ivyo zibashikiriza, muraheza muzumvire. Abazokwirinda ishavu ryanje bagatunganya ibikorwa vyabo, ntibazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi."},{"id":36,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyacu vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, abo ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":37,"translation":"Nta n'umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana Aayah zayo! Abo ni bo rero bashikirwa n’amahirwe n’amagorwa kw’isi vyanditswe mu Gitabu c’ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfudhw”, gushika igihe bashikiriwe n’Intumwa zacu z’abamalayika bajejwe urupfu[10] kugira zibice, zice zibabaza ziti: “Biri hehe ivyo mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah kugira bibakize intureka z’urupfu?”; bazokwishura bati: “Yoo! Vyamaze kuzimangana”. Muri ico gihe rero, bazoheza bemange ko bahoze kw’isi ari abagarariji mu guhakana bivuye inyuma ko hari Imana Imwe Rudende.","footnotes":"[10] Barongowe na Malaku l-mawti."},{"id":38,"translation":"Imana Allah Izobabwira ku musi w’izuka Iti: “Nimwinjire rero mu muriro muri kumwe n’iyindi migwi y’abagarariji b’aho hambere yanyu mu majini n’abantu”. Uko umugwi wose warungikiwe Intumwa winjiye mu muriro, ni ko uzota imiragwe ku wundi mugwi wawuhubishije gushika n’aho imigwi yose ihurira mu muriro. Ni ho rero umugwi wahuvye uzoca usabira ibihano ruhasha umugwi wawuhubishije uti: “Mana yacu Rurema Allah! Aba, ni bo baduhubishije inzira yawe igororotse, kubera ivyo rero, bahe ibihano bigwijwe kenshi”. Imana Allah Izobishura Iti: “Burya umugwi wose muri mwebwe no muri bo, urafise ibihano bigwijwe kenshi, ariko nta vyo muzi”."},{"id":39,"translation":"Umugwi w’abahubishije abandi na wo, uzobwira umugwi w’abahubishijwe uti: “Nta butore twabasumvya, twese twari mu buhuvyi butuma duhanwa kumwe”. Imana Allah Izoheza Ibabwire Iti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ivyaha vy'ivyo mwari mwararondeye kw’isi”."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri, abagarariji bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, ibikorwa bakoze kw’isi, eka n’imishaha yabo igihe co gupfa, ntibizokwugururirwa imiryango y’ijuru, eka na bo nyene ntibazokwinjira mu Bwami bw’ijuru ingamiya itabanje kwinjira mu ntoboro y’urushinge[11]. Ivyo na vyo bikaba bitoshoboka. Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Duhemba inkozi z’ikibi.","footnotes":"[11] Kurya rero bitoshoboka ko ingamiya yinjira mu ntoboro y’urushinge, ni ko n'abagarariji batokwinjira mu Bwami bw’ijuru."},{"id":41,"translation":"Bazokwinjira rero mu muriro wa Jahannamu, ukaba ari na wo bategekanirijwe kuba ubusaswa n’ivyo kwipfuka. Ni nk’ivyo bihano rero Twebwe Allah Duha abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":42,"translation":"Abemeye Imana Allah bakanakora n'ivyiza bitegetswe uko bashoboye, kanatsinda Twebwe Allah ntidutegeka umuntu kiretse ivyo ashoboye, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":43,"translation":"Tuzoheza rero Dukure inzigo y’inzikira mu mishaha yabo. Muri ubwo Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa zabwo hatemba inzuzi. Abari muri bwo bazovuga bashima bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yadushoboje gukora ibikorwa vyiza bidushikana ku nema zayo, ntitwari kwishoboza na gato gutumbera inzira igororotse, iyo Imana Allah Itabidushoboza, Ikabidutsimbatazako. Ni ukuri, Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zivugisha ukuri mu vyo zashikirije”. Abemeramana bazoheza bakezwe bahamagarwe bati: “Ubwo, ni bwa Bwami bw’ijuru mwarazwe ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyiza mwari mwarakoze kw'isi”."},{"id":44,"translation":"Abari mu Bwami bw’ijuru bazoshoka bahamagara abari mu muriro bati: “Burya twasanze impera y’Ubwami bw’ijuru, Imana yacu Rurema Allah Yadusezeraniye ari iy’ukuri. Mbega na mwe mwoba mwasanze impera y’ibihano vyo mu muriro, Imana yanyu Rurema Allah Yabasezeraniye ari iy’ukuri!”. Bazoheza bishure bati: “Ego cane! Twasanze impera Yadusezeraniye ari iy’ukuri”. Ni ho rero hazoca humvikana ijwi ry’umuraritsi riti: “Harakavumwa abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah!;"},{"id":45,"translation":"Abirengagije gukurikira inzira y’Imana Allah igororotse bakanaburagiza abantu kuyikurikira, bagashaka ko nya nzira idatumbera ukuri, bakanahakana bivuye inyuma ubuzima bw’inyuma yo gupfa\"."},{"id":46,"translation":"Hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, hazoba hari uruzitiro amahanga rwitwa “A’raaf”. Kuri nya ruzitiro hazoba hari abantu bazitiriwe ng’aho, bazomenyera umwe wese mu bantu bo mu Bwami bw'ijuru canke bo mu muriro, ku bimenyetso bimuranga[12]. Abo bantu rero, ni barya ivyiza n’ibibi vyabo bizoba biri ku rugero rumwe, maze bazitirirwe ng’aho barindiriye impuhwe z’Imana Allah. Bazoheza rero basemerere bahamagara abantu bo mu Bwami bw’ijuru babakeza bati: “Nimugire amahoro”. Muri ico gihe, abari muri nya ruzitiro, ntibazoba barabwinjiramwo, n’aho bazoba bagifise umwizero wo kubwinjiramwo.","footnotes":"[12] Mu bimenyetso vy’abantu bo mu Bwami bw’ijuru, ni nko gusayangana mu maso. Nayo mu bimenyetso vy’abantu bo mu muriro, ni nko kwijirirwa no kwirabura mu maso."},{"id":47,"translation":"Bagize ngo barahindukiza amaso amaja ku bantu bari mu muriro, bazovuga batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntudushire hamwe n’abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”,"},{"id":48,"translation":"Abazitiriwe hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro, bazoheza bahamagare indongozi z’abagarariji mu muriro, bazozimenyera ku bimenyetso biziranga, bati: “Amatungo mwegeranije, abantu bari babakikije kw’isi, eka n’amanyama yatumye muhonyanga amabwirizwa y’Imana Allah, ivyo vyose nta na kimwe vyabamariye!;"},{"id":49,"translation":"Mbega aba bakene na ba nyarucari bari mu Bwami bw'ijuru, si bo mwarahira mukarengwa mukiri kw’isi; ko Imana Allah Itazokwigera Ibagirira impuhwe ku musi w’izuka, bakinjira mu Bwami bw’ijuru!\". Ba bantu bari muri rwa ruzitiro ruri hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, bace babwirwa bati: \"Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, ntimugire ubwoba bwo guhanwa kuri uno musi, eka ntimunicwe n’intuntu y’ivyo mwasize kw’isi\"."},{"id":50,"translation":"Abantu bari mu muriro na bo, bazosaba abantu bari mu Bwami bw’ijuru bitabariza ko bobahembura, bati: “Yemwe! Nimudusomye na duke ku mazi, canke muduhembure ku mfungurwa mwaronkejwe n’Imana Allah!”. Bazobishura bati: “Ni ukuri, burya Imana Allah Yaraziririje amazi n’imfungurwa ku bayigararije bagahakana n’Intumwa zayo\"."},{"id":51,"translation":"Abazogorerwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa, ni barya bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteburirako mu gutyoza no guhakana, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi. Kuri uwo musi rero, Twebwe Allah Tuzobirengagiza mu kubagumiza mu bihano; nka kurya birengagije mu kwibagira gukora ivyiza mu kwitegurira uno musi wabo, hamwe rero n’uko bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu bakiri kw'isi."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twebwe Allah Twarazaniye abagarariji Igitabu ca Qor’ani wahishuriwe, Twatomoye ibiri muri co mu bumenyi buhambaye, kirimwo ubugororotsi n’impuhwe ku bantu bemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo."},{"id":53,"translation":"Mbega abagarariji boba barindiriye iki kugira bemere, kiretse gushikirwa n’ibihano basezeraniwe muri Qor’ani! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, abirengagije Qor’ani bakanayibagira bakiri kw’isi bazovuga bati: “Ni ukuri, turemeye ko Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zizanye ukuri, ziranaduhanura. Mbega yemwe tworonka hehe abagenzi ngo batuvugire ku Mana Allah ntiduhanwe, canke dusubizwe kandi kw’isi duheze dukore ibitari nk’ivyo twahora dukora bidashimisha Imana Allah!”. Ni ukuri abo barahomvye ubuzima bwabo, bazoruhukira mu muriro, n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka."},{"id":54,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Ituma ijoro rihwikira umurango bugaheza bukira, Igatuma n'umurango uhwikira ijoro bugaheza bugaca; kimwe cose muri ivyo, kigakurikira ikindi bukebuke bikurakuranwa igihe cose. Ni na Yo Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, vyose bikaba vyicishije bugufi bigenzwa n’itegeko ryayo, ni n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah Iriho. Bantu nimwumve mwumvireho! Iremwa n’itegekwa ry’ivyo vyose ni iryayo, harakubahwa haninahazwe rero Imana Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":55,"translation":"Bemeramana! Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah mwicishije bugufi mu mpisho mutiyerekana, umutima uri mu nda. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe mu gusaba ikitari Yo;"},{"id":56,"translation":"Kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi, inyuma y’aho Imana Allah Iyitunganirije ku kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), ikabungabungwa hisunzwe iyumviramana; muheze kandi muyitumbere mu kuyisaba mutayibangikanya, mutinya ibihano vyayo, mwizera n’indishi kuri Yo. Mu vy’ukuri impuhwe z’Imana Allah, ziri hafi cane y’abagwaneza."},{"id":57,"translation":"Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Iyo rero nya muyaga utanguye gusunika ibicu vy’imvura, Twebwe Allah Turaheza Tugashorera nya bicu ahari isi yagadutse, ubwatsi, ibiterwa n’ibiti bikuma, Tugashoka rero Turekurira nya mvura ikagwa, bwa bwatsi, ibiterwa n’ibiti bigasubira gutotahara, maze nya biterwa n'ibiti bigaheza bikama ivyamwa vy’ubwoko bwose. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma isi yagadutse isubira gutotahara - Tuzozura abapfuye bazuke ari bazima. Ivyo rero biri ukwo, kugira mwibuke ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kandi ko Ishoboye kuzura n'abapfuye."},{"id":58,"translation":"Burya isi y’akanovera iyo ironse imvura, ibiterwa vyayo biraheza bigatotahara bikera ku burenganzira bw’Imana yayo Rurema Allah[13]; nayo isi ititutse, ibiterwa vyayo ntivyera kiretse ibihumbwa gusa, naho nyene bigoranye[14]. Ni nk’uko nyene rero - Dutanga uburorero butomoye - Dutanga ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ukuri ku bantu bashima inema z’Imana Allah, bagaheza bakayumvira.","footnotes":"[13] Ni nk’uko nyene rero umwemeramana iyo yumvise Aayah z’Imana Allah, ziramwungura zikamwereka ubuzima bwiza.\n[14] Ako, ni akarorero k’umugarariji agira amanyama, n’aho yokwumva Aayah z’Imana Allah nta co zimwungura."},{"id":59,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twaratumye Nuhu ku bantu biwe kugira abararikire kwemera Imana Imwe Rudende Allah, baheze bayisenge batayibangikanya, araheza rero ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Mutabigenjeje ukwo, ndatinya ko mwohabwa ibihano bihambaye ku musi w’izuka”."},{"id":60,"translation":"Abarongoye abandi mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko wewe uri mu buhuvyi bugaragara”."},{"id":61,"translation":"Nuhu yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi mu buhuvyi! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":62,"translation":"Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, nkabahanura ndabagabisha ku bihano vyayo, ndanabashikiriza inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru, kandi ndazi ivyo mutazi mu ngingo z’Imana Allah."},{"id":63,"translation":"Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo muheze muyitinye muyemere, kugira muronke impuhwe zayo”!"},{"id":64,"translation":"Nuhu rero baramuhakanye bivuye inyuma, Dushoka Tumurokora we hamwe n’abemeramana bari kumwe mu bwato, Turaheza Dusomesha nturi abahakanye ivyemezo vyacu. Mu vy’ukuri, bari abantu imishaha yabo yahumye, ntibabona ukuri."},{"id":65,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranatumye kuri Bene Aadi mwenewabo Huudi igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vyayo!”."},{"id":66,"translation":"Abarongoye abagararije mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko uri umukehabwenge, kandi twiyumvira ko uri no mu babeshi mu vyo ushikiriza ku Mana”."},{"id":67,"translation":"Huudi yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi umukehabwenge! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mama Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":68,"translation":"Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, kandi ndi n’umuhanuzi wanyu w’umwizigirwa mu vyo nahishuriwe."},{"id":69,"translation":"Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo! Nimwibuke n’igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa kw’isi, inyuma y’aho Ihonereje abantu ba Nuhu, Ikanabongerereza inkomezi mu ndemo! Nimwibuke rero inema z’umurengera Imana Allah Yabahaye, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":70,"translation":"Bene Aadi babwiye Huudi n’agasuzuguro kenshi bati: “Aho nyene uturarikiye kwiyegereza mu vyo dukora vyose Imana Imwe Rudende Allah tunayisenge ari Yo Yonyene, duheze tuvavanure n’ibigirwamana vyasengwa n’abavyeyi bacu! Biri ukwo rero, duhe ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri!”"},{"id":71,"translation":"Huudi yabishuye abihaniza ati: “Ni ukuri, mwamaze gushikirwa n’ibihano n’ishavu ry’Imana yanyu Rurema Allah. Ubu murashishikaye kumpaririza kuri ibi bishusho mwagize ibigirwamana mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, ata n’icemezo Imana Allah Yigeze Imanura kirekurira isengwa ryavyo! Kubera ivyo rero, nimurindire ishika ry’ivyo bihano musaba, na nje ndindiriye hamwe na mwe”."},{"id":72,"translation":"Ni ho rero bashikirwa n’ibihano vy’igihuhusi cabahoneje. Turaheza Twebwe Allah Turokora Huudi n’abemeramana bari kumwe ku mpuhwe zacu, Duhonya abahakanye ivyemezo vyacu bose, kanatsinda ntibari no mu bemeramana."},{"id":73,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ndaheza ndayisaba ko Ikura mw’ibuye ingamiya nk’uko mwabisavye. Ng’iyo rero ingamiya yarungitswe n’Imana Allah kugira ibabere icemezo n’igitangaro, nimuyireke irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimuzohirahire ngo muyikomakome ku nabi, kuko Imana Allah Yobaha ibihano bibabaza;"},{"id":74,"translation":"Nimwibuke kandi inema Imana Allah Yabahaye, igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa inyuma y’aho Ihonereje Bene Aadi, Iranabatsimbataza kw’isi mu kwishira n’ukwizana, aho mwubaka inyubakwa amahanga mu kabande, mukanabaza ayandi mazu mu misozi. Kubera ivyo rero, nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, muheze muyishimire, kandi ntimuzogenzwe n’ubwononyi kw’isi\"."},{"id":75,"translation":"Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu bantu biwe, babwiye abemeramana mu bacinyijwe n’agasuzuguro n'akantu bati: “Mbega murazi vy’ukuri ko Swalehe yarungitswe n’Imana yiwe Rurema Allah kuri twebwe!”. Barishuye ata gukekeranya bati: “Twebwe mu vy’ukuri turemanga, tukemera, tukanubahiriza ivyo yarungikanwe n’Imana Allah”."},{"id":76,"translation":"Abarongoye abagira amanyama bakihambaza bavuze bati: “Twebwe, mu vy’ukuri turagararije ivyo mwemanze mukemera”."},{"id":77,"translation":"Ni ko guca rero baca imitsi ya nya ngamiya irahwera, bahonyanga ku bwishime ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah ryo kutayikomakoma ku nabi, baca babwira Swalehe bati: “Ewe Swalehe! Duhe rero vya bihano udusezeranira niwaba uri mu Ntumwa z’Imana Allah!”."},{"id":78,"translation":"Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho."},{"id":79,"translation":"Bamaze guca imitsi ya nya ngamiya, Swalehe yarabirengagije hanyuma ababwira ati: “Bantu banje! Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa bw’Imana yanje Rurema Allah, nita ku rutare ndanabahanura, ariko rero mwebwe ntimukunda ababahanura”."},{"id":80,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luutwi yabwira abantu biwe ati: “Murakenyeye mukore icaha c’agahomerabunwa kitigeze gikorwa aho hambere yanyu n’umuntu n’umwe mu biremwa!"},{"id":81,"translation":"Mu vy’ukuri, mwebwe murangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukirengagiza abakenyezi mwarekuriwe n’Imana Allah ko mworangurana amabanga y’abubatse, ahubwo rero mwebwe muri abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa mu gutururuza ibishobisho ”."},{"id":82,"translation":"Ico gihe nta nyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi kiretse ukubwirana hagati yabo bamushinyaguriza, bati: “Luutwi n’umuryango wiwe nimubirukane mu gisagara canyu. Mu vy’ukuri, bo ni abantu biyubashe”."},{"id":83,"translation":"Ni ho Twebwe Allah Twategeka Luutwi n’umuryango wiwe kuva muri nya gisagara, Tukabarokora mu bihano vyari bigiye gushika, kiretse umugore wiwe yari mu bahonejwe n’ibihano."},{"id":84,"translation":"Twabahanishije rero imvura y’amabuye no kwubikwako igisagara cabo. Ntumwa y’Imana! Raba rero ukuntu iherezo ry’inkozi z’ikibi zihakana Intumwa zacu ryagenze."},{"id":85,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye ku bwoko bwa “Madiyana” mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, nimutunganirize rero abantu mu gukwiza ingero n’iminzane; kandi ntimukagabanye na gato ku vyo bagenewe ngo mubarenganye, ntimukanagenzwe n’ubwononyi bwo kurenganya no kugarariza kw’isi, inyuma y’aho Intumwa z’aho hambere yanyu zitunganirije mu kwisunga iyumviramana. Ivyo ndabararikiye rero, harimwo ineza kuri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba muvyemera, muvyubahiriza."},{"id":86,"translation":"Ntimugategerere abantu ku nzira, mubatera ubwoba bwo kwicwa mu gihe batabahaye amatungo yabo, muburagiza n’abemera Imana Allah kwinjira mw’idini ryayo, mwipfuza ko ridatumbera ukuri, rikubahirizwa nk’uko mubishaka. Nimwibuke kandi inema mwahawe n’Imana Allah igihe mwari inkehwa, Imana Allah Ikabagwiza mugaheza mukaba ibihangange, kandi murabe n’ukuntu iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi ryagenze."},{"id":87,"translation":"Nihaba muri mwebwe hari umugwi wemeye ivyo narungikanwe n’Imana Allah, hari n’uwundi mugwi utigeze uvyemera. Nimutenyenye rero bahakanyi, murindire igihe Imana Allah Izoruducira, Ikabaha ibihano nabagabishijeko. Ni na Yo rero Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa."},{"id":88,"translation":"Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo mu bantu ba Shu’aybu, bavuze bati: “Ni ukuri, dutegerezwa kukwangaza wewe Shu’ayibu hamwe n’abemeramana muri kumwe, mutuvire mu gisagara cacu, kiretse mu gihe mwogaruka mw’idini ryacu”. Shu’ayibu arabishura abiyama ati: “Mbega ni gute twogaruka mw’idini ryanyu mu gihe tuzi neza ko rishingiye ku kinyoma, n’aho twobihatirwa rero, nta vyo twogira!;"},{"id":89,"translation":"Ni ukuri, twoba turementanirije Imana Allah mu gihe twogaruka mw’idini ryanyu, inyuma y’aho Imana Allah Iridukuriyemwo. Ntibikabe rero ko tworigarukamwo, kiretse mu gihe Imana yacu Rurema Allah Yobishaka, Imana yacu Rurema Allah Irahetura ikintu ico ari co cose mu bumenyi, Irazi n'ibitunganye ku baja bayo, twaramaze rero kwizera Imana Allah. Mana yacu Rurema Allah! Ducire urw’ukuri twebwe hamwe n’abantu bacu. Burya Wewe, ni We Mwiza w’abacamanza\"."},{"id":90,"translation":"Abarongoye abagararije bagahakana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah mu bantu ba Shu’ayibu, bavuze bagabisha ku gukurikira Shu’ayibu, bati: “Nimwaramuka mukurikiye Shu’ayibu, mu vy’ukuri muzoba muri mu ruhombo”."},{"id":91,"translation":"Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho."},{"id":92,"translation":"Abahakanye Shu’ayibu, barahonejwe nk’aho batigeze babaho ngo baryoherwe mu mihana yabo. Abahakanye Shu’ayibu, burya ni bo bahomvye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":93,"translation":"Shu’ayibu amaze kubona ko ibihano vyabo vyimirije, yarabirengagije aranababwira abinginga ati: “Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa narungikanwe n’Imana yanje Rurema Allah, ndanabahanura ko mwonkurikira mw’idini ry’Imana Allah, maze ntimwanyumvira. None rero, ni gute notuntuzwa n’ubutumva bw’abantu bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo!”."},{"id":94,"translation":"Twebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa n’imwe mu gisagara ico ari co cose, kugira irarikire abantu gusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya, hanyuma bakayihakana, kiretse ko Twabagerageza Tukabatera ubukene n’ivyago, indwara n’amaganya, bakagorwa kugira bagaruke ku kuri, banatakambire n’Imana Allah."},{"id":95,"translation":"Hanyuma rero, Twarabahindurira nya buzima bw’amagorwa, Tukabaha ubuzima buhimbaye gushika n’aho batunga bagatunganirwa, kugira bikebuke. Ha kwikebuka rero, bararendegeye barinamura bavuga bati: “Ivy’isi, ni uko bigenda! Imisi irasa ntingana. Abavyeyi bacu, na bo nyene barashikirwa n’indwara n’amaganya no kuroranirwa mu buzima!”. Muri ico gihe rero, Twaca Tubahana giturumbuka ata vyo bari biteze."},{"id":96,"translation":"Iyo abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa bemera Intumwa z’Imana barungikiwe, bakazikurikira, bakanubahiriza n’amabwirizwa y’Imana Allah, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubugururira imiryango y’ivyiza bibabeshaho biturutse kw’icuncubuka ry’imvura izananye mu kirere ku gihe, bagaheza bakarima bakimbura, ariko rero barahakanye, Dushoka Tubahanira ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw'isi."},{"id":97,"translation":"Mbega abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa, bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, ko batoshikirwa n’ibihano mu gihe baryamye!"},{"id":98,"translation":"Mbega abantu bo mu bisagara bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, batoshikirwa n’ibihano mu gihe bari mu mirimo ya misi yose mu gitondo[15] ata co binona!","footnotes":"[15] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe bari ku mirimo ya misi yose mu gitondo, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe, bibabaza cane bigatera agahinda."},{"id":99,"translation":"Mbega abantu bo mu bisagara vyagararije, bibaza ko batekaniwe ku gutenyenya kw’Imana Allah mu kutabahana, Igaheza Ikabandanya kubaronsa inema zayo kugira Ibakwegere mu bihano bukebuke bakiri kw’isi! Burya nta wokwijajara ngo asye bwose ngo aratekaniwe ku kudahanwa n’Imana Allah, kiretse abantu bahomvye ubuzima bwabo."},{"id":100,"translation":"Mbega abakurakuranwa kuba kw’isi, inyuma y’ihonywa ry’abakurambere babo bitewe n’ivyaha bakoze, ntibarabona ko iyo Dushaka Twari kubahanira ibicumuro vyabo nk’abo hambere yabo, Tukanatera ikimangu c’ubuhakanyi ku mitima yabo, gutyo ntibashobore kwumva inyigisho ngo zibanyure!"},{"id":101,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ivyo bisagara Tukudondaguriye rero[16], ivyashikiye ababibamwo birimwo urwibutso ku bibuka, harimwo n’igabisha ku ntumva. Ni ukuri, abantu bo muri nya bisagara barashikiriwe n’Intumwa zabo zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, ariko ntibigeze bazemera ku kubera ihakana ryabo ry’ukuri bazaniwe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yateye ikimangu ku mitima yabo ntibemera - Itera ikimangu ku mitima y’abagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).","footnotes":"[16] Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu."},{"id":102,"translation":"Abenshi mu bahakanyi bo muri ivyo bisagara, Twasanze ata n’isezerano bubahiriza, kandi twanasanze abenshi muri bo ari ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu Twebwe Allah."},{"id":103,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mu nyuma y’izo Ntumwa rero, ni ho kandi Twatuma Musa mwene Amraani, Tumurungikana ivyemezo vyacu bigaragara kwa Firawuni n’abantu biwe, baraheza barirenganya mu kugarariza nya vyemezo. Ehe raba ukuntu Twabahanye, Tukabasomesha nturi bose! Iryo rero, ni ryo herezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi."},{"id":104,"translation":"Musa yabwiye Firawuni ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa ivuye ku Mana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":105,"translation":"Ndakwiye rero kutavuga kiretse ukuri ku vyerekeye Imana Allah. Ni ukuri, naje ndabazaniye icemezo kigaragara kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, cerekana ukuri ku vyo ndababwira. Ewe Firawuni! Bohora rero Bene Israyeli, ureke kubacura bufuni na buhoro, mpeze ndabarongore mu nzira y’Imana Allah”."},{"id":106,"translation":"Firawuni araheza yishura Musa ati: “Niwaba wazanye icemezo nk’uko ubivuga, enda rero cerekane, niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”."},{"id":107,"translation":"Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;"},{"id":108,"translation":"Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane[17] abari ng’aho birabira, barumirwa.","footnotes":"[17] Ico gitangaro mu kugikora, Musa yashira ikiganza mu kwaha, akagikurayo cererana gisayangana cane; yagisubizayo kandi, akagikurayo gisa n’ibara ry’ibindi bihimba vy’umubiri wiwe."},{"id":109,"translation":"Indongozi mu bantu ba Firawuni, ni ho zabwira abari ng’aho ziti: “Mu vy’ukuri, Musa ni umurozi karuhariwe;"},{"id":110,"translation":"Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu”. Ni ho Firawuni yaca avuga ati: “None mumpanuye gukora iki, ku vyerekeye Musa?”."},{"id":111,"translation":"Za ndongozi ziraheza zimuhanura ziti: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;"},{"id":112,"translation":"Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe mu bukonikoni, bamukuzanire”."},{"id":113,"translation":"Ku musi uri izina, ni ho rero nya bakonikoni karuhariwe baza kwa Firawuni, baraheza bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”."},{"id":114,"translation":"Na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muzoba muri no mu batoni bari hambavu yanje (abishikira)”."},{"id":115,"translation":"Ba bakonikoni babwira Musa bamubaza n’ubwishime n’akantu bati: “Ewe Musa! Wipfuza ko ari wewe wotangura guterera hasi inkoni yawe, canke ko ari twebwe twotangura?”."},{"id":116,"translation":"Musa abishura ati: “Nipfuza ko ari mwebwe mwotangura”. Bamaze guterera hasi imizana n’inkoni vyabo, barahunitse abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, baraheza rero kandi babatera n’ubwoba bakoresheje uburozi buhanitse."},{"id":117,"translation":"Ni naho Imana Allah Yahishurira Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Imubwiriza Iti: “Terera inkoni yawe hasi”. Musa, amaze guterera nya nkoni hasi, ya nkoni yaciye imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari ivy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye."},{"id":118,"translation":"Ico gihe, ukuri kwaragaragaye ku bari ng’aho ko Musa ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Ikinyoma cagizwe na ba bakonikoni na co, carabatekurukanye, gikubitirwa ahabona maze barahinyuka."},{"id":119,"translation":"Muri iryo koraniro rero, abakonikoni bose baratsinzwe, maze Firawuni n’abantu biwe basubira inyuma basuzuguritse (ubwanwa bwapfutse umunwa)."},{"id":120,"translation":"Ni ho rero ba bakonikoni baca bubamira Imana Allah;"},{"id":121,"translation":"Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":122,"translation":"Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”."},{"id":123,"translation":"Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga ababwira ati: “Mbega mwemeye iyo Mana imbere yuko ndabarekurira kuyemera! Mu vy’ukuri, ukwo kwemera kwanyu, ni umugambi mubi mwateguye mufatanije na Musa, kugira mwomore ababa muri iki gisagara, muheze mucigarurire. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ingaruka y’ivyo mwakoze;"},{"id":124,"translation":"Ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”."},{"id":125,"translation":"Ba bakonikoni baraheza bishura Firawuni batekaniwe bati: “Twebwe mu vy’ukuri, twamaze kumenya ko tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah;"},{"id":126,"translation":"Nta n’ico uduhoye kiretse ko twemeye ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah twashikirijwe na Musa. Mana yacu Rurema Allah! Duhe ukwihangana no gutsimbatara ku kwemera, Wongere Uzoturengutse hageze gupfa turi abislamu bicisha bugufi”."},{"id":127,"translation":"Indongozi mu bantu ba Firawuni, zarahejeje zibwira Firawuni ziti: “Ubu urakenyeye ureke Musa n’abamukurikiye muri Bene Israyeli bidegemvye, kugira bonone igihugu ca Misiri mu guhindura idini ryacu, baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah, bavavanure n’isengwa ryawe hamwe n’iry’ibigirwamana vyawe!”. Firawuni araheza azishura ati: “Tugiye kubahasha mu kwica abana b’abahungu muri Bene Israyeli, duheze dusigaze gusa abana b’abakobwa kugira tubagire abajakazi bacu, kandi mu vy’ukuri twebwe tuzobatsinda, tubaganze dukoresheje inguvu z’ubutegetsi”."},{"id":128,"translation":"Musa na we araheza abwira abantu biwe muri Bene Israyeli ati: “Nimwifashishe Imana Allah mu guhangana n’agacinyizo ka Firawuni n’abantu biwe, muheze mwihanganire amabi yose abakorera. Mu vy’ukuri, isi ni iy’Imana Allah, Iyitsimbatazako uwo Ishatse mu baja bayo. Burya amaherezo meza, ni ay’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”."},{"id":129,"translation":"Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, baraheza bamubwira n’umwiheburo n’akantu bati: “Twarageragejwe na Firawuni, turabangamirwa mu kwicirwa abana bacu b’abahungu, hagasigazwa abana bacu b’abakobwa bagirwa abajakazi. Ivyo vyadushikiye imbere yuko uza n’inyuma y’aho uziye”. Musa ababwira ati: “Hari n’aho Imana yanyu Rurema Allah Yohonya abansi banyu, maze mukabasubirira, Imana Allah Ikabatsimbataza kw’isi kugira Irabe uko mwigenza; ko mwoshima ingabirano zayo canke mukazigarariza!”."},{"id":130,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twaragerageje Firawuni n’abantu biwe, Turaheza Tubahanisha inzara, amapfa no gukehanirwa n’umwimbu w’ivyamwa n’ibiterwa mbumbarugo, kugira bikebuke, bagaruke ku Mana Allah."},{"id":131,"translation":"Firawuni n’abantu biwe, igihe cose bashikiwe n’ivyiza, baca bavuga bati: “Ibi tubironse kuko tubikwiye”. Baramutse naho bashikiwe n’amapfa, baca bidogera Musa bati: “Ibi bidushikiye kubera Musa n’abari kumwe na we baduhumiye”. Emwe! Ivyabashikiye vyose, vyabashikira nk’uko vyagezwe n’Imana Allah, bitewe n'ibicumuro n’igarariza vyabo, ariko abenshi mu bantu ba Firawuni nta vyo bazi."},{"id":132,"translation":"Abantu ba Firawuni babwiye Musa bati: “Icemezo ico ari co cose wotuzanira ngo tuve mw’idini rya Firawuni, nta co turota twemera ngo tugukurikire”."},{"id":133,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twabarungikira umwuzurira maze uhitana ibiterwa n’ivyamwa. Twaranabarungikiye inzige zirya ikintu ico ari co cose zishikiriye: ibiterwa, imiryango, urusenge n’impuzu; Tubarungikira n’udukoko turya ibiterwa n’ibitungwa; Tubarungikira n’ibikere bikwiragira hose: mu bikoresho, mu mfungurwa no mu busaswa; Twaranahinduye inzuzi n’amariba bicika amaraso, ntibaheza ngo baronke amazi yo gukoresha. Ivyo vyose rero, vyari ivyemezo n’ibitangaro vyabashikiye mu bihe bitandukanye bivuye ku Mana Allah, ariko baragize amanyama ntibemera. Kira noneho, bari no mu bantu b’inkozi z’ikibi, barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":134,"translation":"Igihe bashikirwa n’ibihano rero, baratekewe n’ubwoba baca bitura Musa bati: “Ewe Musa! Dusabire Imana yawe Rurema Allah ku vyo wahishuriwe ko ibihano bikurwaho n’ukwigaya. Uramutse udukuyeko ibihano turimwo, ni ukuri tuzoca tukwemera ko uri Intumwa, duheze turekurire Bene Israyeli bagukurikire, ntibaburagizwe kuja aho bashatse hose”."},{"id":135,"translation":"Igihe Twebwe Allah Twabakurako vy’agateganyo ibihano mu kiringo gito, mu kurindira isango bazohanirwako mu gusomeshwa nturi, baciye barenga kw’isezerano ryo kwemera Imana Allah."},{"id":136,"translation":"Ni ho rero Twashoka Tubihora hageze nya sango ryo guhanwa, Turabasomesha nturi mu kiyaga kubera ihakana ryabo ry’ibitangaro vyacu. Kira noneho, bari no mu bavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa."},{"id":137,"translation":"Abari baracinyijwe muri Bene Israyeli, bakagirwa abaja ba Firawuni, Twarabaraze igihugu co mu buseruko n’ico mu burengero bw’isi (Misiri na Shaamu), ari na vyo bihugu Twahezagiye bikagira isi ndimwa y’akanovera n’inzuzi, gutyo ijambo ry’isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubohoza no gutsimbataza Bene Israyeli bihanganiye Firawuni, riba riratunganye; Turaheza rero Duhonya ivyaranguwe na Firawuni n’abantu biwe, Tunasenyura n’inyubakwa bubatse."},{"id":138,"translation":"Twarajabukishije Bene Israyeli ibahari, maze baca ku bantu biyeguriye gusenga ibigirwamana, ni ho bavuga bati: “Ewe Musa! Tugirire na twe ikigirwamana dusenga nk’uko aba bafise ikigirwamana basenga”. Musa araheza abishura ati: “Mu vy’ukuri, mwebwe muri ibijuju ruhebwa, bidatahura icubahiro c’Imana Allah ngo bimenye ko ata kintu na kimwe gikwiye gusengwa atari Yo;"},{"id":139,"translation":"Mu vy’ukuri, aba biyeguriye ibigirwamana, ibangikanyamana ryabo rizohonywa, ivyo bakora mu gusenga, ni ibintazi ni n’ubuhuvyi”."},{"id":140,"translation":"Musa yabandanije ababwira ati: “Mbega hari ikitari Imana Allah nobipfuriza ko musenga, kandi ari Yo Yabaremye Ikabahesha icubahiro gisumba ibindi biremwa mu gihe canyu; mu kubarungikamwo Intumwa nyinshi, mu guhonya abansi banyu hamwe no kubereka ibitangaro!”."},{"id":141,"translation":"Bene Israyeli! Nimwibuke inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, igihe Twabakura mu buja bwa Firawuni n’abantu biwe, Tukabakurako ibihano bisuzuguza vyo kwica abana banyu b’abahungu, hagasigazwa abana banyu b’abakobwa kugira babagire abajakazi. Muri ivyo vyose rero, harimwo igeragezwa rihambaye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah."},{"id":142,"translation":"Mwibuke n’igihe Twaha Musa isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah mu majoro mirongo itatu, hanyuma Turaheza Twongerako ayandi majoro cumi, gutyo ikiringo c’amajoro mirongo ine yagenewe n’Imana yiwe Rurema Allah kiba kirakwiye. Ni ho rero Musa yaheza abwira murumunawe Haruna ati: “Mbera icariho mu bantu banje gushika aho nzogarukira, uheze ubararikire kwumvira Imana Allah no kuyisenga, kandi ntuzohirahire ngo ukurikire inzira y’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”."},{"id":143,"translation":"Igihe rero Musa yaza, ikiringo c’amajoro mirongo ine kimaze gukwira, maze Imana yiwe Rurema Allah Ikavugana na we mu kumuhishurira amabwirizwa yayo, yaripfuje kubona Imana Allah imbona nkubone, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyiyereke ndakubone”. Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ntushobora kumbona mu buzima bwo kw’isi! Ariko raba urya musozi, ninawiyereka ugashobora kuguma nk’uko uri, muri ico gihe na we urashobora kumbona”. Imana yiwe Rurema Allah Imaze kwiyereka nya musozi waciye usenyuka urayoka, Musa na we aca agwa igihumura araraba. Amaze kurabuka, aca avuga ati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Ndigaye kugusaba kukubona imbona nkubone kw’isi, kandi jewe ndi n’uwa mbere mu bemeramana mu bantu banje”."},{"id":144,"translation":"Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Naragutoye mu bantu Ndakurungikana ubutumwa bwanje ngo ububashikirize, Ndanavugana na we ukuri kwamye. Kubera ivyo rero, fata nkama ivyo Naguhaye uvyubahirize, uheze ube mu bashima”."},{"id":145,"translation":"Twebwe Allah, Twarahaye Musa muri Tawurati ingingo nkenerwa mw’idini ryiwe, kugira zibe urwibutso n’itomora ry’amabwirizwa y’ibirekuwe n’ibizira, ukwemera n’inkuru z’ab’aho hambere. Musa! Kubera ivyo rero, fata nkama ayo mabwirizwa, uheze uyubahirize ata guhesha, unabwirize n’abantu bawe warungitsweko kuyubahiriza. Uwuzohirahira muri bo akayarengako, Nzoheza Ndamwereke mu buzima bw’inyuma yo gupfa icumbi ry’ibigaba birenga ku mabwirizwa yanje."},{"id":146,"translation":"Abagira amanyama mu kutanyumvira Jewe Allah, bakanishima ku bandi kw’isi mu guhonyanga agateka kabo, Nzokebanya imishaha yabo mu kudatahura Aayah n'ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’amabwirizwa yanje. Iyo babonye icemezo ico ari co cose rero, ntibaheza ngo bacemere ku kugabitanya. Iyo babonye inzira y’ubugororotsi, ntibayikurikira namba, babona inzira y’ubuhuvyi bakayikurikira. Ivyo rero bigaterwa n’uko bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu, bakanavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa."},{"id":147,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, bagahakana n’uko bazohura n'Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ibikorwa vyabo bizocika impfagusa kuko batemera Imana Allah. Mbega none muri ico gihe, ugira ngo bazohembwa kiretse ku bikorwa bari barakoze kw’isi!"},{"id":148,"translation":"Inyuma y’aho Musa agiriye kuvugana n’Imana Allah, abantu biwe bafashe igishusho c’ishashi y’inka cabumbwe mu nzahabu n'uwitwa Al-Saamiriy, umuyaga wahuhuta kikamoka nk’inka, baraheza bakigira ikigirwamana baragisenga. Mbega ntibamenye ko ico gishusho c’ishashi y’inka kidashoboye kubavugisha, vyongeye kitanashoboye no kubarongora mu nzira nziza! Barahejeje rero bakigira ikigirwamana, bari no mu birenganije mu gusenga ikitari Imana Allah."},{"id":149,"translation":"Bene Israyeli basenze nya gishusho c’ishashi y’inka mu gishingo c’Imana Allah, igihe baboneye neza ko mu vy’ukuri bahuvye inzira bakicuza, bahavuye bigaya, bavuga bati: “Imana yacu Rurema Allah, nitatugirira impuhwe Ikatwakirira ukwigaya kwacu, Ikanatugumiriza akabanga ku vyaha vyacu ntibiduhanire, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”."},{"id":150,"translation":"Musa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”."},{"id":151,"translation":"Musa amaze gutahura uko vyagenze, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mbabarira itwarwa ryanje n’agashavu, Wongere Ubabarire murumunanje ivyamushikiye, Unadushire twempi mu mpuhwe zawe. Burya Wewe ni We Urangwa n’impuhwe kurusha abagirampuhwe bose”."},{"id":152,"translation":"Mu vy’ukuri, abafashe igishusho c’ishashi y’inka bakagisenga, bazoshikirwa n’ishavu ry’Imana yabo Rurema Allah, banasuzugurike mu buzima bwo kw’isi kubera igarariza ry’Imana Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Duhemba abarementanya ivyadukano mw’idini."},{"id":153,"translation":"Nayo abakoze ivyaha, mu nyuma bakagaruka ku Mana Allah bakigaya bakanayemera, bakanakora n’ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah nta nkeka ko inyuma y’uko kwigaya kwabo Izobababarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":154,"translation":"Musa amaze guturura ishavu rigahera, yarahejeje atora ya Mizingo ya Tawurati yari yataye hasi. Muri yo, harimwo uburongozi n’impuhwe ku bantu batinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah."},{"id":155,"translation":"Ni ho rero Musa yatora mu bantu biwe abagabo b’intore mirongo indwi kugira bajane ku musozi wa Sinayi, kw’isango ryacu Twebwe Allah ryo kwigaya icaha c’isengwa ry’igishusho c’ishashi y’inka. Ba bagabo b’intore bamaze gushika kuri nya musozi, babwiye Musa bati: “Ntiturota tukwemera tutabanje kubona Imana Allah ukuri kwamye; mu vy’ukuri niwaba wavuganye na Yo, yitwereke rero!”. Ni ho bahanishwa nyamugigima y’akataraboneka, maze bose bahonera rimwe. Musa ni ho yahava atakambira Imana Allah arigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Aho nsubirira inyuma, Bene Israyeli nza kubabwira iki kandi Wahoneje abo natoye muri bo! Iyo Ushaka Wari gutuma Ubahonya ndi kumwe na bo imbere yuko tugera ku musozi wa Sinayi. Mbega Mana yanje Rurema Allah! Uduhonya kubera ivyaha vyakozwe n’abakehabwenge muri twebwe! Ivyo bakoze, si ikindi kiretse ko ari ikigeragezo cawe gituma Uhubisha uwo Ushatse mu biremwa vyawe, Ukarongora uwo Ushatse muri vyo. Wewe ni We Muhagarikizi n’Umutabazi wacu. Kubera ivyo rero, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Wongere Utugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abababarira bakagumya ibanga;"},{"id":156,"translation":"Unatwandikire ibikorwa vyiza kuri iyi si, Uzonabiduhembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ukuri twagarutse kwigaya imbere yawe”. Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ibihano vyanje Ndabiha uwo Nshatse mu biremwa vyanje; hamwe n’ivyo, impuhwe zanje zikikuje ikintu cose Naremye. Nzoheza rero Nandikire ironswa ryazo abantinya bakiyubara ibihano vyanje mu kungamburukira, bakanatanga ishikanwa-bwirizwa, hamwe n’abemera ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende."},{"id":157,"translation":"Abakurikira Intumwa ikaba n’Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), itigeze yiga kwandika no gusoma, ari na yo basanga ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu vyabo vya Tawurati n’Injili; ibabwiriza gusenga Imana Imwe Rudende Allah no kuyumvira hamwe rero no gukora ivyiza; ikanababuza ibangikanyamana n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa hamwe rero no gukora ibibi; ikanabazirurira ivyiza birekuwe mu mfungurwa, mu binyobwa no mu bakenyezi; ikanabaziriririza ibibi bizira nk’inyama y’ingurube, n’ibindi mu mfungurwa no mu binyobwa bahora bazirura mu vyaziririjwe n’Imana Allah; gutyo ikabakurako amabwirizwa yari abaremereye[18]. Abemeye rero iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemanga ko ari Intumwa y’ukuri, bakayubaha bakayubahiriza bakanayitabara, bakanakurikira Qor’ani yamanuriwe, bakanagendera n’imigenzo yayo, abo ni bo rero baronse intsinzi y'ivyo Imana Allah Yabasezeraniye”.","footnotes":"[18] Nko guca agace k’impuzu kagiyeko ibihumanya, guturira iminyago no kwica uwishe n’aho yoba atishe n’ibigira nkana."},{"id":158,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa y’Imana Allah kuri mwebwe mwese, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikazozura n’abapfuye. Kubera ivyo rero, nimwemere Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, Umuvugishwamana atigeze yiga kwandika no gusoma, yemera Imana Imwe Rudende Allah, akemera n’amajambo yayo Yamumanuriye n’ayo Yamanuriye Abavugishwamana bo hambere yiwe, kandi mumukurikire mwubahirize n’amabwirizwa yiwe kugira mube abagororotsi”."},{"id":159,"translation":"Mu bantu ba Musa muri Bene Israyeli, harimwo umugwi w’abagororotsi utsimbataye ku kuri, ukanarongora abantu wisunze nya kuri, ukanabararikira kugukurikira, ugaheza rero ukanatunganiriza abandi mu kubacira imanza wisunze nya kuri nyene."},{"id":160,"translation":"Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, Twabaciyemwo imiryango cumi n’ibiri ingana n’igitigiri c’uruvyaro rukomoka kuri Ya’kubu; umuryango umwumwe wose witirirwa umwe muri nya ruvyaro. Igihe abantu ba Musa banyoterwa[19], bakamusaba ko yobahembura, Twaramuhishuriye Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho, gutyo umuryango umwumwe wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite. Hanyuma Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira kibakingire izuba ryo mu bugaragwa, Turaheza Tunabamanurira “Manna[20]” na “Salwa [21]”. Dushoka Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye”. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo bwo kudashima no kutubahiriza amabwirizwa, ariko ni bo birenganije [22].","footnotes":"[19] Ni muri ca gihe Imana Allah Yabaha igihano co kwamana intekera ku mutwe bazembagirika mu bugaragwa mu kiringo c'imyaka mirongo ine.\n[20] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.\n[21] Inyama z’ubwoko bw’inyoni.\n[22] Baraduhiwe no kwama ku mfungurwa z’ubwoko bumwe, baraheza basaba ko bofungurirwa ivyimbuwe mu mirima yo muri Misiri."},{"id":161,"translation":"Ibuka Ntumwa y’Imana igarariza ryabo, igihe babwirwa bati: “Nimucumbike mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, muheze mufungure n’akayabagu ivyo muzokwimburamwo mwisanzuye aho mushatse hose, muce muvuga muti: “Dusavye ikigongwe cawe Mana!”; maze mushoke mwinjira mu muryango w’ico gisagara mwunamiye Imana Allah, mwicishe bugufi, gutyo Duheze Tubagirire ikigongwe ku vyaha vyanyu. Tuzokwongerereza n’indishi abagwaneza muri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”;"},{"id":162,"translation":"Maze abagararije muri bo, baca bahindura ijambo basabwe kuvuga bati: “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro bati: “Intete ku mushatsi Mana!”. Duca Tubamanurira igihano kivuye hejuru, Turabahonya bitewe n’ukuntu bahora birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":163,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza abayahudi ku nkuru y’abantu bigeze kuba mu gisagara kiri ku nkengera y’ibahari, igihe barenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah ryo kutaroba ifi ku musi w'isabato wubashwe bategetswe kwubaha no kwubahiriza, Imana Allah Iraheza Irabagerageza ku buryo ifi zagwirirana ku nkengera z’ibahari ku musi w'isabato gusa, ku yindi misi zikaguma mw’ibahari. Baraheza rero bakazitega urusenga ku musi w'isabato, maze bakazitegura ku musi ukurikira. Ni nk’ukwo nyene rero Tubagerageza ku bubegito bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":164,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ibuka kandi n'igihe umugwi w’abantu muri bo wabwira uwundi mugwi w’abahanura abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato wubashwe, uti: “Ni kuki muhanura abantu, Imana Allah Izobahonya kw’isi kubera ivyaha bakora, canke Ikazobahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”. Abahanura abarenga kuri nya bwirizwa, bishuye bati: “Tubahanura twubahiriza ibwirizwa ryo kubwiriza ivyiza n’iryo kubuza ibibi, kugira tuzoronke icireguzo ku Mana yanyu Rurema Allah ko twabahanuye”. Iryo hanurwa ryabo rero, kwari kugira bagamburukire Imana Allah mu kutarenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":165,"translation":"Umugwi w’abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato, umaze gufata minenegwe ivyo wibutswa ukarendegera mu gucumura, Twebwe Allah Twararokoye mu bihano ababuza abandi gukora icaha co kurenga ku mabwirizwa, Turaheza Duha ibihano bibabaza abirenganije mu kurenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w’isabato, kubera ubugaba bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":166,"translation":"Bamaze kurendegera rero mu kurenga ku vyo babujijwe, bagashishikara baroba ku musi w’isabato, Imana Allah Yababwiye Iti: “Nimuhinduke rero inkende musuzugurike”, bashoka bacika inkende."},{"id":167,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Imana yawe Rurema Allah Yamenyesha icese, ko Itegerezwa kurungikira abayahudi uwuzobaha ibihano vy'akataraboneka, bagasuzugurika gushika ku musi w’umuhero w’isi. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni ukuri Irananyarutsa mu guhana ibigaba mu biremwa. Ni ukuri rero, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya; Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":168,"translation":"Bene Israyeli Twaranabaciyemwo imigwimigwi Tubanyanyagiza kw’isi; muri bo rero, harimwo abagororotsi bubaha bakubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, hakabamwo n’abandi birenganya mu kutubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Abo rero, Twarabagerageje ku kuroranirwa bakoroherwa mu buzima, Twaranabagerageje no ku magorwa n’amaganya kugira bagaruke bigaye ku Mana Allah;"},{"id":169,"translation":"Ababasubiriye mu nyuma y’aho barangwa n’ububi kurusha, batoranye Igitabu baragisoma baranagitahura, baraheza baca kubiri n’ingingo zaco, bakira ivyo bahawe biciriritse mu vy’isi nka ruswa n’ibindi kubera inambu, bakavuga bisigura bati: “Tuzobabarirwa n’Imana Allah ibicumuro vyacu”; n’iyo bahawe mu bisanzwe biziririjwe kuri bo, baravyakira ata co binona! Mbega ntibahawe isezerano rihambaye ryo gufata nkama Tawurati bakayigendera, n’iry’uko batovuga ku vyerekeye Imana Allah kiretse ukuri! Baratahuye rero ibiri muri Tawurati hanyuma barabirengako, barenga no kw’isezerano. Burya ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo bwiza ku bantu bagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!"},{"id":170,"translation":"Abafata nkama Igitabu ca Tawurati bakanubahiriza amabwirizwa n’izindi ngingo zirimwo, bakanatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobahembera ivyo bakoze, ntitwigera Dutakaza namba indishi z’abatunganya neza ibikorwa vyabo."},{"id":171,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n'igihe Twarerura umusozi hejuru ya Bene Israyeli, nya musozi ukaba nk’igicu kibakingiye izuba, bibaza ko uhava ubakorokerako nibatemera amabwirizwa ari muri Tawurati! Ni ho Twebwe Allah Twababwira Duti: “Nimufate nkama munubahirize ata gushidikanya ivyo Twabahaye, munibuke isezerano rihambaye Twabahaye muri Tawurati ryo kwubahiriza ibirimwo, kugira mugamburukire Imana Allah”."},{"id":172,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yaha isezerano Bene Adamu bakiri intanga mu migongo ya ba se, ko boyisenga ari Imwe Rudende, Iraheza Ibagira ivyabona kuri nya sezerano, Iti: “Si Jewe Mana yanyu Rurema Allah, mukwiye gusenga mutambangikanije!”. Baraheza bishura bemanga bati: “Wobuzwa n’iki kuba Imana yacu Allah dusenga ari Imwe Rudende! Ego cane turavyemanze”. Twabagize ivyabona kuri iryo sezerano rero, kugira ntimuzohave muvuga mwiregura ku musi w’izuka muti: “Mu vy’ukuri, ntitwigeze tumenya ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah! Twari twaragoswe n’ubujuju bwo kutamenya, tuba ba sindabibazwa”;"},{"id":173,"translation":"Canke kugira ntimuzovuge mwigovyora muti: “Ni ukuri, ba data gusa ni bo barenze kw’isezerano aho hambere, baraheza babangikanya Imana Allah, gutyo na twe mu nyuma dushoka tubakurikira ukwo. None ga Mana! Ushaka kuduhonya, Uduhora icaha cakozwe n’abakubangikanije bigatuma ibikorwa vyabo bicika impfagusa!”."},{"id":174,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twatomoye Aayah zacu n’ibihano Twahaye abazihakanye - Dutomorera abantu warungitsweko Aayah n'ivyemezo kugira bavavanure n’ibangikanyamana, baheze bagaruke ku Mana yabo Rurema Allah."},{"id":175,"translation":"Ntumwa y’Imana! Cira agace abantu warungitsweko ku nkuru y’umuntu umwe muri Bene Israyeli Twahaye ivyemezo vyacu, maze arabitahura, hanyuma arabihakana, abirenza inyuma y’umugongo, gutyo shetani na yo ishoka imwigarurira, aca aja mu bantu bahuvye inzira."},{"id":176,"translation":"Iyo rero Twebwe Allah Dushaka kumuduza icubahiro mu kwemera nya vyemezo, Twari kumushoboza kubigendera, ariko rero we yihebeye ivy’isi ha kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, araheza akurikira ivyipfuzo vyiwe, agabitanya ku Mana Allah. Uyo rero akarorero kiwe, ni nk’imbwa; iyo uyirukanye irekereza ururimi, wayireka naho nyene ikarekereza ururimi[23]. Ntumwa y’Imana! Iyo rero, ni yo ngeso y’abantu bahakanye ivyemezo vyacu imbere yuko urungikwa. Biganire rero inkuru z’ivyashikiye ab’aho hambere, kuko harimwo ibitangaro vyotuma bibuka bakwemere;","footnotes":"[23] Ni nk’uko rero uwuhakana ivyemezo vy’Imana Allah akabirenza umugongo, ukumuhanura canke kumwirengagiza nta co bihindura kuri we."},{"id":177,"translation":"Ako ni ko karorero kabi cane; akarorero k’abantu bagararije mu guhakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu, burya rero ni bo nyene bari birenganije."},{"id":178,"translation":"Uwushobojwe n’Imana Allah akemera ku bugamburutsi bwiwe, uyo ni we yashobojwe kuba umugororotsi; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba, uyo ni we azoba ari mu bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":179,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twaremeye umuriro wa Jahannamu abagarariji benshi mu bantu no mu majini; abafise imishaha ntibaheze ngo bayikoreshe mu gutahura; bakagira n’amaso ntibaheze ngo bayakoreshe mu kubona Aayah n'ivyemezo vyacu; bakagira n’amatwi ntibaheze ngo bayakoreshe mu kwumviriza Aayah z’Imana Allah zikabanyura. Abo ni bo rero, babayeho nk’ibitungwa bitumva ngo bitahure ico bibwirwa, bitabona ngo biheze bitandukanye iciza n’ikibi. Ahubwo mbere bobo barahuvye gusumba ivyo bitungwa[24]. Abo ni bo rero bagoswe, ntibemera Imana Allah ngo bayumvire, bigira ba sindabibazwa.","footnotes":"[24] Kuko ibitungwa birabona bigatahura ikivyungura canke ikibibangamira bikanakurikira umwungere."},{"id":180,"translation":"Imana Allah Irafise amazina meza cane aranga ubutore bwayo, nimuyasabishe rero ku Mana Allah. Mwitandukanye na barya batosekaza amazina yayo[25], bazohembwa ku bicumuro bari barakoze kw’isi mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, no mu gutosekaza amazina yayo.","footnotes":"[25] Mu kuyongerako, canke mu kuyagabanyako, canke kuyahindura; nko kuyita uwutayakwiye mu biremwa, canke kuyaha insiguro itemejwe n’Imana Allah, eka itanemejwe n’Intumwa yayo."},{"id":181,"translation":"No mu biremwa Twaremye rero, harimwo umugwi w’abagororotsi urongora abantu wisunze ukuri, ukanabararikira kugukurikira, ugaheza rero ukanatunganiriza abandi mu kubacira imanza wisunze nya kuri nyene;"},{"id":182,"translation":"Nayo abagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu, Tuzobakwegera mu bihano bukebuke mu kubaronsa ibibabeshaho bikwiye kw’isi, gutyo batwarwe n’ibihendamaso bibaza ko batonye ku Mana Allah, hanyuma Tubahane giturumbuka mu buryo batazi;"},{"id":183,"translation":"Jewe Allah Nzonabaha agahengwe gushika n’aho bibaza ko batazohanwa, gutyo bongerereze ubuhakanyi n’amanyama ku yandi kugira bagwirizwe ibihano. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane."},{"id":184,"translation":"Mbega ntibariyumvira ngo batahure ko mugenzi wabo Muhamadi atari umusazi! We si ikindi kiretse ko ari Umugabisha atomora ibihano vy’Imana Allah mu gihe batomwemera."},{"id":185,"translation":"Mbega ntibihweza ngo babone ibimenyetso vy'ubwami buhambaye bw’Imana Allah mu majuru no mw’isi, hamwe rero no mu biremwa Yaremye muri nya majuru n’isi, gutyo baheze batahure bibuke, baheze rero kandi barabe n’ubuzima bwabo buri hafi guhera bagapfa bakigarariza, bakazohanwa n’Imana Allah! Mbega ni irihe gabisha bokwemera inyuma y’igabisha rya Qor’ani!"},{"id":186,"translation":"Uwubaye intumva, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo. Izonabarekera mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico boreka hagati y'ukwemera n'ubuhuvyi."},{"id":187,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye umuhero w’isi, ni ryari uzoshika? Babwire uti: “Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikira bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, nta n’umwe ashobora kugaragaza igihe cawo kiretse Yo Yonyene. Igihe umuhero w’isi uzoshikirako, kinyegejwe ibiremwa vyose vyo mu majuru no mw’isi, nta n’umwe muri vyo azi igihe uzoshikira. Ntuzobishikira rero kiretse ko uzobishikira giturumbuka”. Ntumwa y’Imana! Bakubaza nk’aho woba witwararitse cane kumenya igihe umuhero w’isi uzoshikirako! Babwire uti: “Ni ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikirako bufiswe n’Imana yanje Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ko bufiswe na Yo gusa”."},{"id":188,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta na kimwe nishoboje, haba mu kugira ico nimariye, eka no mu kwikingira inabi, kiretse ku vyo Imana Allah Ishatse. N’iyo nza kumenya ibinyegejwe ibiremwa, norushirijeho gukora ivyiza, nta n’inabi yonshikiye namba. Burya jewe nta kindi ndi kiretse ko ngabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro, nkashikiriza n'abemeramana inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":189,"translation":"Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa kugira amumare irungu anamutururuze. Amaze rero kwiherera akarangurana na we amabanga y’abubatse[26], yarasamye imbanyi iraheza irakura bukebuke; amaze gukurirwa hakagera ko yibaruka, bompi barasavye Imana yabo Rurema Allah bati: “Niwaramuka Uduhaye ikibondo ceranda gitunganye, nta nkeka ko tuzoba mu bagushimira inema yo kuronswa ikibondo”.","footnotes":"[26] Abavugwa ng’aha, ni umugabo n’umugore bubatse izabo muri Bene Adamu."},{"id":190,"translation":"Biri muri kameremere ka Bene Adamu rero, ko Imana Allah Ironkeje abavyeyi ikibondo ceranda gitunganye, bahava bakayibangikanya na nya kibondo. Harakubahwa hubahirizwe rero Imana Allah, ntikabangikanywe n’ivyo bayibangikanya!"},{"id":191,"translation":"Mbega bayibangikanya n’ibiremwa vyayo bidashoboye no kurema ikintu na kimwe, kandi na vyo nyene vyararemwe!"},{"id":192,"translation":"Ntibinashoboye gutabara ababisenga ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi!"},{"id":193,"translation":"Babangikanyamana! Mu gihe mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana ngo bitumbere inzira igororotse, ntivyopfa vyumvise namba irarika ryanyu ngo bibakurikire, ukubirarika no kwinumira, vyose ni co kimwe kuri vyo, ntivyumva, ntibibona."},{"id":194,"translation":"Mu vy’ukuri, ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni abaja b’Imana Allah nkamwe. Nimwaba rero mwemera ko bikwiye gusengwa nk’uko mwibaza, nimubisabe rero bibumvire nimwaba muri imvugakuri."},{"id":195,"translation":"Mbega ivyo bigirwamana vyoba bifise amaguru bigendesha ku buryo vyishira bikizana mu kubatunganiriza! Canke vyoba bifise amaboko bikoresha mu kubatabara hagize uwubabangamira! Canke vyoba bifise amaso birabisha mu kubona ibinyegejwe ibiremwa mudashoboye kubona! Canke vyoba bifise amatwi bikoresha mu kwumva ivyo mudashobora kwumva! Ivyo bigirwamana, none vyosengwa gute, nivyaba bitagira na kimwe muri ivyo bihimba, ari na vyo bikoreshwa mu kugira ico umuntu yimariye canke mu kwikingira! Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe rero ibigirwamana vyanyu mwabangikanije n’Imana Allah, hanyuma mukoreshe urwenge mu kundwaniriza hamwe, ntimuzondindirize na gato mutaranyirahira, nta n’ico ninona kuko nizeye Imana Allah;"},{"id":196,"translation":"Mu vy’ukuri, Umuhagarikizi wanje ni Imana Allah, ni Yo Imbungabunga Ikantabara, ni Yo Yamanuriye Igitabu Qor’ani, ni na Yo Ibungabunga aberanda mu biremwa vyayo, Ikabateturura;"},{"id":197,"translation":"Nayo ivyo musaba mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kubatabara ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi;"},{"id":198,"translation":"No mu gihe rero mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana gutumbera inzira igororotse, ntivyokwumva irarika ryanyu\". Ntumwa y’Imana! Uranabona ababangikanyamana bariko barakuraba wibaza ngo barakubona, kandi batabona namba."},{"id":199,"translation":"Muvugishwamana! Abantu ivyo bashoboye mu bikorwa n’imigenzo myiza, urabibakirira maze ubibashimire uko bingana kwose, ntukabasabe ivyo badashoboye. Babwirize no kugira ineza mu mvugo n’ingiro, uheze wirengagize inshirasoni."},{"id":200,"translation":"Niwashikirwa n’inyoshambi za shetani zituma wotwarwa n’agashavu canke wokwihora, uraheza wikinge ku Mana Allah Igukingire izo nyoshambi, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora."},{"id":201,"translation":"Mu vy’ukuri, abagamburukira Imana Allah iyo bakozweko n’inyoshambi za shetani, baca bagaruka ku Mana Allah bakigaya, bagashoka bavavanura n’ibicumuro."},{"id":202,"translation":"Abanywanyi ba shetani mu bantu, baterwa ingoga n’amashetani mu majini zo kubandanya mu buhuvyi, nya mashetani agaheza agakora yita ku rutare mu kubahubisha, maze na bo bagakorana umwete mu gushira mu ngiro inyoshambi zayo."},{"id":203,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo utabashikirije icemezo cerekana ukuri wazanye, baca bavuga bati: “Ubwo ntiwopfuma urementanya icemezo!”. Babwire uti: “Mu vy’ukuri, burya jewe nkurikira ivyo nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah muri iyi Qor’ani. Muri iyo Qor’ani, harimwo ivyemezo bitomoye, uburongozi n’impuhwe ku bemeramana”."},{"id":204,"translation":"Qor’ani iyo isomwe, ba muyumviriza mucereje, muheze muyitahure muyizirikane, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah."},{"id":205,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uninahaze wongere utazire Imana yawe Rurema Allah mw’ijwi ry’uwongorera, utakambe wicisha bugufi, unayisabe mw’ijwi riciye bugufi udaciramwo abandi mu gitondo n'umugoroba, kandi ntuzobe na gato mu bantu bagoswe, batibuka kuninahaza no gutazira Imana Allah."},{"id":206,"translation":"Mu vy’ukuri, abamalayika bari ku Mana yawe Rurema Allah, ntibigera bagira amanyama ngo birengagize ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga, ahubwo barubahiriza amabwirizwa yayo, kandi barayitagatifuza ijoro n’umurango, bakanayubamira batayibangikanya."}]},{"id":8,"verses":[{"id":1,"translation":"Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ukuntu iminyago mwanyaze ku rugamba rwa Badri yogaburwa! Babwire uti: “Ingingo y’igaburwa ry’iyo minyago, yega Imana Allah n’Intumwa yayo; Intumwa iyigabura yisunze ibwirizwa ry’Imana Allah. Nimugamburukire rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mutunganye imigenderanire hagati yanyu ntimucanishwemwo n’iminyago, maze mushishikare mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo nimwaba muri abemeramana vy’ukuri”."},{"id":2,"translation":"Ni ukuri, abemeramana vy’ukuri ni barya iyo havuzwe Imana Allah, imitima yabo ihinda agashitsi; iyo naho basomewe Aayah zayo ziri muri Qor’ani zibongerereza ukwemera ku kwemera basanganwe, kandi bishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera;"},{"id":3,"translation":"Abatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bakanatanga no mu vyo Twabaronkeje."},{"id":4,"translation":"Abo barangwa n’iyo migenzo rero, ni bo bemeramana vy’ukuri, baragenewe amacumbi yo mu rwego rwo hejuru ku Mana yabo Rurema Allah, hamwe no kubabarirwa ibicumuro vyabo hamwe n’impano yubashwe y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":5,"translation":"Ihazana ry’ingendanyi kw’igaburwa ry’iminyago, aho Imana Allah Yashinga ingingo y’igaburwa ryayo, ni nk’ihazana ryabo ryo kuja ku rugamba rwa Badri, igihe Imana yawe Rurema Allah Yagutegeka vy’ukuri kuva i Madina ugana ahitwa Badri gutegera ibidandazwa vy’Abakorayishi, n’aho mu vy’ukuri bamwe mu bemeramana batashaka ko mujana."},{"id":6,"translation":"Bakubazagiza ku vyerekeye indwano ko yohava iba, inyuma y’aho bamaze kumenya neza ko nya ndwano itegerezwa kuba, bari nk’aho boba bashorewe gupfa kandi babona nya rupfu imbere yabo."},{"id":7,"translation":"Ngendanyi mubazagiza ku vyerekeye indwano! Nimwibuke igihe Imana Allah Yabaha isezerano ko mutegerezwa kuronka imwe mu ntsinzi zibiri; ukunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye canke ugutsinda urugamba, mugashaka ku bwanyu ko mworonka intsinzi yo kunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye mutabanje kurwana, Imana Allah na Yo Igashaka kugaragaza ukuri kw’ubwislamu, ijambo ryayo na ryo rikaganza mu guhangana n’abagarariji, Igaheza Ikabahonya;"},{"id":8,"translation":"Kugira Imana Allah Iheshe icubahiro ubwislamu n’abislamu, Iheze Ikureho ibangikanyamana n’ababangikanyamana n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":9,"translation":"Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe ku musi w’urugamba rwa Badri, igihe mwitabaza Imana Allah ngo Ibahe intsinzi yo kunesha umwansi wanyu, gutyo Imana Allah Iraheza Irabumvira Iti: “Jewe Allah mu vy’ukuri, Ndabateje intege ingabo z’abamalayika ibihumbi bibiri, baturutse mw’ijuru baza bakurakuranwa”."},{"id":10,"translation":"Imana Allah ntiyabateye intege atari ukugira bibabere ikimenyetso c’inkuru nziza yo kunesha umwansi, no gutururuza imitima yanyu, gutyo muheze mwizere ata mazinda ko ata ntsinzi mushobora gushikako kiretse ko iba iturutse ku Mana Allah, intsinzi burya ntituruka ku butwari canke ku nguvu zanyu. Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubutungane mu vyo Ikora."},{"id":11,"translation":"Ibuka igihe Imana Allah Yabahunyiriza muri ku rugamba rwa Badri, kugira ngo Ibatekanishe ntimwicwe n’ubwoba bwo gutinya gutsindwa, Ikanabamanurira n’amazi y’imvura asukuye kugira ngo Ibahumanure, Inabeze n’imitima ntirangwe n’inyoshambi za shetani, Inabahe n’ukwihangana ku rugamba, Yongere Ibatsimbataze mukenyere zigume, ntimuhave munyerera urugamba rumaze kureta."},{"id":12,"translation":"Muvugishwamana! Igihe Imana yawe Rurema Allah Yahishurira abamalayika Irungitse kubatera intege ku rugamba rwa “Badri” Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe Ndabateye intege. Kubera ivyo rero, genda mutere intege abemeye Imana Allah, Nshoke Ntera n’ubwoba mu mitima y’abagararije”, ni uko rero bemeramana! Nimuce imitwe n’ibikonjo vy’abagarariji;"},{"id":13,"translation":"Ivyo vyashikiye abagarariji ku kwimonogoza kwabo mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoje mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo, mu vy'ukuri Imana Allah Izomuhana Imuhashe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":14,"translation":"Bagarariji! Ico ni co gihano canyu, nimucumvirize ng’aha kw’isi. Muranategekanirijwe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":15,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahangana imbona nkubone n’abagararije ku rugamba, ntimuzogenze umugongo ngo muhunge, ahubwo murahabera intwari mutsimbatare."},{"id":16,"translation":"Uwuzogenza umugongo kuri uwo musi, azoba akwiye ishavu ry’Imana Allah, kiretse hamwe yogenza umugongo ashaka kwigobotora ingabo z’abagarariji canke guhungira ku ngabo z’abislamu ziri ku rugamba. Uwuzogenza rero umugongo, ubushikiro bwiwe ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo ni ryo herezo ribi cane."},{"id":17,"translation":"Bemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa."},{"id":18,"translation":"Ivyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe."},{"id":19,"translation":"Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba."},{"id":20,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye na ntaryo mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntimuzodohoke kuri iryo yumviramana kandi mwama mwumvise ivyemezo musomerwa muri Qor’ani."},{"id":21,"translation":"Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane."},{"id":22,"translation":"Mu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":23,"translation":"Iyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi."},{"id":24,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze."},{"id":25,"translation":"Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":26,"translation":"Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire."},{"id":27,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugahemukire Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa yayo. Ntimukanihemukire mwebwe nyene mu kudacungera imbitso mwaragijwe n’Imana Allah, kandi muzi neza ko mutegerezwa kuzibungabunga."},{"id":28,"translation":"Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira."},{"id":29,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwatinya Imana Allah mukareka ivyo Yababujije, mukayigamburukira mugakora n’ivyo Yabategetse, Izobashoboza gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Iheze Ibababarire ibicumuro vyanyu, Inabagumirize akabanga ibababarire ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano zihambaye."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura."},{"id":31,"translation":"Iyo abagarariji basomewe Aayah zacu Twebwe Allah muri Qor’ani, bavuga n’akagagazo bati: “Ni ukuri turamaze kwumva nk’ivyo! Twobishaka, nta nkeka ko twovuga amajambo nka Qor’ani. Iyo Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari imigani y’ab’aho hambere”."},{"id":32,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi igihe ababangikanyamana bavuga n’agahemo bati: “Mana yacu! Ibivugwa na Muhamadi, nivyaba ari ukuri kuvuye iwawe, tumanurire imvura y’urubuye iturutse hejuru, canke duhe igihano kibabaza”."},{"id":33,"translation":"Ihibambewe! Imana Allah ntiyari kubahana kandi ukiri hamwe na bo. Imana Allah ntiyari no kubahana mu gihe bagisabira imbabazi ivyaha vyabo."},{"id":34,"translation":"Mbega ni gute batoba bakwiye ibihano vy’Imana Allah kandi baburagiza abemeramana gukikura no gusengera mu musigiti mutagatifu! Kanatsinda ntibari n’abatoni b’Imana Allah. Abatoni b’Imana Allah si abandi kiretse abayitinya bakanayigamburukira, ariko abenshi muri bo ntibatahura."},{"id":35,"translation":"Isengesho ry’ababangikanyamana mu musigiti mutagatifu w’i Makka, ntiryari ikindi kiretse gukobereza no gukoma amashi. Nimwumvirize rero ibihano vy’ukwicwa no kugirwa imbohe vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri” kubera ubugarariji bwanyu."},{"id":36,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah bakanagabira Intumwa yayo, batanga amatungo yabo batiziganya kugira barwanye idini ry’Imana Allah, no kugira babuze abantu kwinjira mw’idini ryayo. Kubera ivyo rero, bazotanga nya matungo hanyuma baruhire kwicuza, kuko impera n’imperuka bategerezwa kuneshwa. Burya abagarariji bazokwegeranirizwa mu muriro wa Jahannamu;"},{"id":37,"translation":"Ivyo bizogenda ukwo, kugira Imana Allah Itandukanye umubi n’umwiza, gutyo Ikumakumire ababi bose mu muriro wa Jahannamu. Abo bagarariji rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":38,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji ko nibaramuka baretse kugarariza bakanareka kurwanya Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bakemera Imana Imwe Rudende Allah, nta nkeka ko Imana Allah Izobagumiriza akabanga Ikabababarira ivyaha vyabo bakoze imbere yuko bemera. Nibasubira kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo naho, ni ukuri Tuzobahana nk’uko Twahanye ab’aho hambere yabo."},{"id":39,"translation":"Bemeramana! Nimurwanye ababangikanyamana gushika n’aho ibangikanyamana no kurwanya idini ry’Imana Allah biranduranwa n’imizi, gutyo idini risigare ari idini ry’Imana Allah Yonyene. Nibaramuka rero baretse guhohotera abemeramana, bakanemera Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri burya Imana Allah Irabona neza ivyo bakora, ni Yo Nyenukubona."},{"id":40,"translation":"Nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, bakanashishikara kurwanya idini ryayo, muramenya neza bemeramana ko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wanyu. Irakaba Umwiza w’abahagarikizi ku batoni bayo, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo."},{"id":41,"translation":"Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[1] muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose.","footnotes":"[1] Bagenewe kuronka ku ca gatanu c’iminyago kuko batarekuriwe guhabwa imperezwa."},{"id":42,"translation":"Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana."},{"id":43,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha."},{"id":44,"translation":"Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze."},{"id":45,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahurira ku rugamba n’abagarariji biteguriye bikwiye kubarwanya, muraheza muhabere intwari, mumere magabo ntimuhunge, munaninahaze mutazire kenshi Imana Allah, mwongere muyisabe Ibatere intege kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":46,"translation":"Muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi."},{"id":47,"translation":"Ntimukabe rero nk’ababangikanyamana bavuye mu gihugu cabo biyerekana n'amanyama n'akantu, kugira baburagize abantu kwinjira mu bwislamu. Burya Imana Allah, ubumenyi bwayo buhetura ivyo bakora vyose, nta na kimwe Itazi."},{"id":48,"translation":"Bemeramana! Nimwibuke n’igihe shetani yaryohereza ababangikanyamana icabazanye ku rugamba, ikababwira iti: “Uno musi nta n’umwe abanesha, mu vy’ukuri ndi kumwe na mwe, ndabatabara”. Iyo migwi yompi rero hageze ko ihangana, shetani yagenjeje umugongo irisubirako iti: “Mu vy’ukuri, jewe nditandukanije na mwe; ni ukuri, ndabona ivyo mudashoboye kubona mu bamalayika baje gutera intege abemeramana; jewe mu vy’ukuri ndatinya Imana Allah”. Shetani rero yarabataye mu rudubi hanyuma irabihakana. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwugabitanya, mu gihe atisubiyeko ngo yigaye."},{"id":49,"translation":"Nimwibuke n’igihe indyarya n’abasinzikajwe mu mitima n’indwara y’ubuhakanyi, babona igitigiri gito c’abemeramana n’igitigiri kinini c’abansi babo, bagaca bavuga bati: “Abislamu bahenzwe n’idini ryabo pe! rirahava ribahonya”. Ico batamenye rero, ni uko uwo wese yishimikije Imana Allah akayizera, Itigera Imuta mu rudubi. Burya Imana Allah mu vy’ukuri, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji bahanwa, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe abamalayika bariko bakura inkomoko y’ubuzima \"roho\" mu mishaha y’abagarariji bagasezera isi, babakubita mu maso no mu mugongo; bakazonabashinyaguriza bari mu muriro bati: “Nimuhonje rero ibihano vyo guturirwa mu muriro”[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah, n’aho ivuga ku vyashikiye abagarariji ku rugamba rwa Badri, ifata umugarariji uwo ari we wese."},{"id":51,"translation":"Bagarariji! Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ivyo mwakoze ku gatwe kanyu kw’isi, n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera."},{"id":52,"translation":"Ivyashikiye ababangikanyamana rero kuri uwo musi wa Badri, ni vyo vyashikiye ibigaba mu ntumva z’aho hambere; nk’abantu ba Firawuni n’abo hambere yabo, baragararije Intumwa z’Imana Allah mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo, maze Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe."},{"id":53,"translation":"Ivyo biri ukwo rero, kuko Imana Allah Itigera Yaka inema Yahaye abantu, kiretse iyo ari bo babanje guhindura inyifato bakigenza nabi, n’uko Imana Allah mu vy'ukuri ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora, Izohembera kimwe cose ivyo cakoze."},{"id":54,"translation":"Ivyashikiye rero abagarariji, ni nk’ivyashikiye abantu ba Firawuni bagararije Musa, n’abantu b’aho hambere yabo bagararije Intumwa barungikiwe, gutyo Twebwe Allah Duca Tubahanira ivyaha vyabo. Twaranasomesheje nturi mw’ibahari abantu ba Firawuni. Kandi umugwi wose muri bo, warirenganije mu guhakana Intumwa, mu kugarariza ivyemezo vy’Imana Allah no kuyibangikanya."},{"id":55,"translation":"Mu vy’ukuri, ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni abagarariji batsimbatara ku bugarariji, bakareka kwemera Imana Imwe Rudende Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, bakanka no kwemera n’Intumwa zayo."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y'Imana! Muri ivyo biremwa bibi rero, harimwo n’abayahudi wahaye isezerano ryo kutakurwanya canke kutifadikanya n’uwukurwanya, hanyuma barenga kuri nya sezerano kenshi uko bukeye uko bwije, eka ntibanatinya n’Imana Allah."},{"id":57,"translation":"Niwaramuka rero uhanganye na bo ku rugamba, urabahana ubahashe vy’akarorero, kugira ngo n’abandi babonereho kutazosubira kurenga ku masezerano."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwatinya naho ko hogira abaguhemukira bitwaza amasezerano mufitaniye, mu gihe wamaze kubona ibimenyetso vy’iryo hemuka, uraheza ubitange mu guhagarika amasezerano mwari mufitaniye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abahemuka mu kudohoka ku masezerano."},{"id":59,"translation":"Abagararije Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah, ntibibaze ko bananiye Imana Allah bakarusimba. Mu vy’ukuri, ntibashobora namba kunanira Imana Allah ngo basimbe ibihano vyayo."},{"id":60,"translation":"Bislamu! Muritegurira neza uko mushoboye kwose urugamba rwo guhangana n’abansi banyu, mu gutunganya ingabo n’ibirwanisho kugira ngo mutere ubwoba abansi b’Imana Allah, bakaba ari na bo bansi banyu, mutere ubwoba n’abandi mutaramenya ko ari abansi banyu, ariko Imana Allah Ikaba Ibazi n’ivyo bahishije mu mishaha. Ico ari co cose mutanze rero mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, caba gito canke kinini, Imana Allah Izokibasubiriza mu ndumane mukiri kw’isi, Iheze Inakibahembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimuzorenganywa namba."},{"id":61,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nibaramuka baretse kubarwanya bagafata inzira y’amahoro, uraheza ufate iyo nzira y’amahoro nyene, kandi wishimikize Imana Allah unayizere. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bazirikana."},{"id":62,"translation":"Nibashaka naho kwiyorobeka mu kurondera amahoro ngo bahave baguhinduka mu nyuma, mu vy’ukuri Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo, ni Yo Yaguhaye intsinzi Inaguteza ingoga abemeramana[3];","footnotes":"[3] Mu bimukira (Muhaajiriina) no mu basangwa (Answaari)."},{"id":63,"translation":"Iraheza Iranabanywanisha inyuma yuko batacana uwaka. N'iyo utanga amatungo yose y’isi kugira ngo ubanywanishe ku bwawe, ntiwari kubishobora namba; ariko rero, Imana Allah Yarabanywanishije Ibahuriza ku kwemera, gutyo baba abavukanyi barangwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":64,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo. Eka n’abagukurikiye mu bemeramana barakwiye kugira bagukingire inabi yabo."},{"id":65,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Himiriza abemeramana kurwana batiziganya. Muri mwebwe nihaba harimwo abantu mirongo ibiri bihangana ku rugamba, bazonesha abantu amajana abiri. Nihaba naho harimwo abantu ijana bihangana ku rugamba, bazonesha abantu igihumbi mu babangikanyamana, kuko ababangikanyamana badatahura indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah."},{"id":66,"translation":"Bemeramana! Kuva ubu rero, ku kubera ingoga nke mufise, Imana Allah Iraborohereje; muri mwebwe nihaba harimwo abantu ijana bihangana, bazonesha abantu amajana abiri mu babangikanyamana. Nihaba naho harimwo abantu igihumbi bihangana, bazonesha abantu ibihumbi bibiri ku burenganzira bw’Imana Allah. Burya Imana Allah, Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi."},{"id":67,"translation":"Ntivyari bibereye namba ko Umuvugishwamana yogira imbohe abamurwanya atabanje kurwana bigacika, abansi bagaheza bakamutinya, idini na ryo rigashinga imizi. Bislamu! Murondera kuronka ivy’isi bigizwe n’imbohozo zitangwa n’abagizwe imbohe ku rugamba rwa Badri, Imana Allah na Yo Ikarondera gutsimbataza idini ryayo rizobashikana ku buzima bwiza bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa; Intungane mu vyo Ikora."},{"id":68,"translation":"Iyo hataba rero ivyamaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah, ko Yabarekuriye iminyago n’imbohozo z’abagizwe imbohe ku rugamba, mwari guhabwa igihano rutura ku kwihutira gutora iminyago n’imbohozo imbere yuko hashingwa ingingo ivyerekeye."},{"id":69,"translation":"Kuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":70,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Bwira abo warekuye mu mbohe zo ku rugamba rwa Badri ziri mu minwe yanyu, uti: “Ntimubabazwe n’imbohozo mwatanze! Imana Allah niyamenya ko imishaha yanyu irangwa n’iciza[4], Izoheza Ibahe ivyiza bisumba imbohozo mwatswe, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;","footnotes":"[4] Mu bo Imana Allah Yubahirije iryo sezerano Yabahaye kuko berekanye ko imishaha yabo irangwa n’iciza, ni Al’Abbaasi n’abandi (Imana Allah Ibishimire)."},{"id":71,"translation":"Muri izo mbohe warekuye rero, nihagira abashaka kuguhemukira bakakurwanya kandi, ntibizokubabaze ngo ucike intege, mu vy’ukuri baramaze guhemukira Imana Allah imbere y’aho, vyongeye baranakurwanije, maze Imana Allah Iraheza Iragushoboza kubanesha. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiri mu mishaha, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":72,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu[5], bakanaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo; n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise, bakanatabara idini ry’Imana Allah, abo rero ni bo batabarana vy’ukuri hagati yabo. Nayo abemeye hanyuma ntibimuka ngo bave mu gihugu kibacinyiza, abo ntimutegetswe namba kubatabara gushika bimutse. Nibarenganywa mu kwemera kwabo bakabatabaza, murabitabira mubatabare, kiretse mu gihe borenganywa n’abo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, aho ntimuzorenge na gato kuri nya masezerano. Burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona;","footnotes":"[5] Canke bakimukira mu gihugu bishira bakizana mu kwemera kwabo."},{"id":73,"translation":"Kukaba nkako rero, n’abagararije baratabarana hagati yabo. Bemeramana! Nimutatabarana rero hagati yanyu, hazoba igeragezwa kw’isi ku bemeramana mu kwemera kwabo, habe n’ubwononyi bwinshi bushingiye kw’iburagizwa ry’abemeramana."},{"id":74,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bata izabo bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, banaharanira idini ry’Imana Allah kugira ritsimbatare, n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise bakanabatabara, abo ni bo bemeramana vy’ukuri rero. Bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, ntibabihanirwe; baheze baronke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":75,"translation":"N’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose."}]},{"id":9,"verses":[{"id":1,"translation":"Iri ni ivavanura rishizwe ahabona n’Imana Allah n’Intumwa yayo, ivavanura ryerekeye ihagarikwa ry’amasezerano mwagiraniye n’ababangikanyamana."},{"id":2,"translation":"Babangikanyamana! Nimwidegemvye aho mushaka hose kw’isi mu kiringo c’amezi ane, mutekaniwe ata n’uwubakomakoma, kandi mumenye ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo, munamenye ko Imana Allah Izotetereza abagarariji, bagayike kw’isi, binjizwe no mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa[1].","footnotes":"[1] Iyi Aayah, yerekeye amasezerano abislamu bari bafitaniye n’ababangikanyamana, na canecane amasezerano yamaho, canke ayafise ikiringo kitagera ku mezi ane boheza bakayubahiriza gushika ku mezi ane, canke amasezerano yadohotsweko n’ababangikanyamana."},{"id":3,"translation":"Iri rero, ni itangazo rivuye ku Mana Allah n’Intumwa yayo, rikaba rishikirijwe abantu bose ku musi mukuru w’ishengerera ry’ingoro ntagatifu; ko Imana Allah n’Intumwa yayo bavavanuye n’ababangikanyamana. Babangikanyamana! Nimwigaya mukagaruka ku Mana Allah, bizoba ari vyo vyiza cane kuri mwebwe; nimwagenza umugongo naho, mukanka kwinjira mu bwislamu, muramenya ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru y’incamugongo abagararije ubwislamu, ko barindiriwe n’ibihano bibabaza."},{"id":4,"translation":"Ku bafatwa n’iyo ngingo, havuyemwo gusa abo mufitaniye amasezerano afise ikiringo kizwi, bakaba batayadohotseko, batifadikanije n’umwansi mu kubarwanya, abo rero murubahiriza amasezerano mufitaniye gushika ikiringo cayo kirangire. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano."},{"id":5,"translation":"Ikiringo c’amezi ane matagatifu rero nicarangira, muraheza murwanye ababangikanyamana aho muzobasanga hose, mubafatire n’ibihano vy’ubutunzi, mubategere aho hose baca. Nibaramuka bigaye bakagaruka ku Mana Allah, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, muraca mubareka bidegemvye kuko bazoba bamaze kuba benewanyu mu kwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nihagira uwugeramirwa mu babangikanyamana, ubuzima n’amatungo vyiwe bigahungabanywa maze akaguhungirako, uramuha ubuhungiro, maze umwakire kugira kamubere akaryo ko kwumva ukuri ku majambo y’Imana Allah ya Qor’ani; hanyuma yipfuje gusubira mu rwiwe, uramushikana mu mahoro n’umutekano nta ngere. Ivyo biri ukwo, kuko ababangikanyamana ari abantu badatahura ukuri ku vyerekeye ubwislamu."},{"id":7,"translation":"Ababangikanyamana ntibakwiye kugira isezerano ku Mana Allah n’Intumwa yayo ryubahirizwa, kiretse abo mwasezeraniye mu micungararo y’umusigiti mutagatifu\nw’i Makka, amasezerano ya Al-Hudaybiyya; mu gihe cose bazoba bacubahiriza nya masezerano rero, muraheza muyubahirize. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano."},{"id":8,"translation":"Mu gihe boramuka babanesheje, ntibokwubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’amasezerano bokwubahiriza[2]. Ntimuhendwe rero n’umubano mwiza babereka mu gihe batekewe n’ubwoba, bakabaha akarimi gasosa kugira babashimishe bitavuye ku mutima. Burya abenshi mu babangikanyamana, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa, bikadohoka no ku masezerano.","footnotes":"[2] Kuko ababangikanyamana bubahiriza amasezerano mu gihe baneshejwe, batekewe n’ubwoba."},{"id":9,"translation":"Bagujije Aayah z’Imana Allah ku kiguzi gito c’ivy’isi, baraheza barwanya ukuri baburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Mu vy’ukuri, ni bibi cane ivyo bakora."},{"id":10,"translation":"Ababangikanyamana mu kurwanya ubwislamu, ntibubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’isezerano bubahiriza. Abo ni na bo rero barangwa n’akarenganyo."},{"id":11,"translation":"Nibigaya bakagaruka ku Mana Allah bakayemera, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mu vy’ukuri bazoba ari benewanyu mu kwemera. Ni ukwo rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazitahura, zikagira ico zibamariye."},{"id":12,"translation":"Nibadohoka ku masezerano mufitaniye, bagatyoza n’idini ryanyu ry’ubwislamu, muraheza murwanye indongozi z’ubugarariji zitigera zubaha ngo zubahirize isezerano, eka nta n’ubucuti zubahiriza. Murazirwanya rero kugira zihagarike agasotoro n’urwanko."},{"id":13,"translation":"Bemeramana! Ubwo ntimworwanya abantu badohotse ku masezerano mufitaniye, bagashaka no kwomora Intumwa y’Imana mu gisagara ca Makka! Kanatsinda, ni na bo batanguye kubahohotera. Mbega none murabatinya canke mutinya guhangana na bo ku rugamba! Burya Imana Allah, ni Yo mukwiye gutinya vy’ukuri nimwaba muri abemaramana vy'ukuri."},{"id":14,"translation":"Bemeramana! Nimurwanye abansi b’Imana Allah kugira Ibahane Inabatetereze biciye kuri mwebwe, Ibashoboze no kubanesha, gutyo ijambo ryayo ryubahwe, Itururuze n’imashaha y’abemeramana;"},{"id":15,"translation":"Ibamare n’ishavu. Uwuzokwigaya muri bo, Imana Allah Izokwumvira uwo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi uwigaya vy’ukuri, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":16,"translation":"Bemeramana! Mbega mwibaza ko Imana Allah Yobareka ukwo mutageragejwe, ngo Yerekane mu vyo Isanzwe Izi abayiharanira vy’ukuri, batigera bagira abagenzi somambike, abateye kubiri n’Imana Allah, Intumwa yayo n’abemeramana! Burya Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi ivyo mukora vyose kandi Izobibahembera."},{"id":17,"translation":"Nta ho vyakabaye ko ababangikanyamana bubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, kandi basanzwe bemanga ko bagarariza Imana Allah bakanayibangikanya. Abo ni bo rero, ibikorwa vyabo bizoba impfagusa ku musi w’izuka, bashoke bashirwa mu muriro ibihe bidahera."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri, abubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, ni abemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, ntibanatinye n’igitsure c'uwo ari we wese mu vyo bakora kiretse Imana Allah. Abo ni bo bagororotsi rero vy’ukuri."},{"id":19,"translation":"Bantu! Mbega none ukunywesha abashengerera ingoro ntagatifu hamwe n’ukwitwararika umusigiti mutagatifu w’i Makka, mwabigize nk’ukwemera kw'uwemeye Imana Allah n’umusi w’iherezo, akanaharanira idini ry’Imana Allah! Eka nta ho bisa bisana na gato ku Mana Allah kuko Itakira ibikorwa bidashingiye ku kwemera. Burya Imana Allah, ntishoboza gukora ivyiza bitegetswe abantu birenganya mu kuyibangikanya."},{"id":20,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, bagaharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, barafise urwego ruhambaye ku Mana Allah, ni na bo rero benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":21,"translation":"Imana yabo Rurema Allah, Irabahumurije ko Ibafitiye impuhwe kandi Ibishimiye, n’uko bagenewe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, bategekanirijwemwo inema zamaho;"},{"id":22,"translation":"Bazoba muri nya mirima ibihe bidahera mu nema zamaho. Mu vy’ukuri, ku Mana Allah hari indishi ihambaye."},{"id":23,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire ba so na benewanyu, n’abandi mu ncuti zanyu zishikira abagenzi somambike muhishuka amabanga y’abislamu, mukabahanuza mu vyanyu, mu gihe ha kuba abislamu bahisemwo kugarariza no kurwanya ubwislamu. Uwo wese muri mwebwe rero azocudika na bo akabagira abagenzi somambike, azoba ari mu bacumuye, birenganije."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abemeramana uti: “Nimwahitamwo gukunda ba so, abana banyu, benewanyu, abakenyezi banyu, incuti zanyu, amatungo mwegeranije, urudandazwa mutinya ko rwohomba, amazu mubamwo ateye igomwe, maze mukabikunda kurusha urukundo mukunda Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe no guharanira idini ryayo, nimurindire rero mwitege ibihano vy’Imana Allah. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo”."},{"id":25,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Iramaze kubashikana ku ntsinzi ahantu henshi, inyuma y’aho mugiriye imyiteguro isabwa mukanayishimikiza mukayizera. Ku musi w’urugamba rwa “Hunayini” mwavuze mwigamba muti: “Uno musi, ntitugenda tuneshejwe ku gukehanirwa kw’ingabo n’ibirwanisho!”, mwishimira ubwinshi bw’ingabo zanyu ata na kimwe zabamariye, maze umwansi arabatera mubura isaganirizo, isi irabagira kandi isanzwe yagutse, hanyuma murata muromoka mwaneshejwe, mutungwa n’ayo mwameze mugenda mutazambaye."},{"id":26,"translation":"Mu nyuma, ni ho rero Imana Allah Yamanurira ituze n’itekane Intumwa yayo hamwe n’abemeramana baraheza baraguma ku rugamba, Ibateza ingoga ingabo z’abamalayika mutigeze mubona zivuye mw’ijuru, guryo Irabashikana ku ntsinzi, Iranahana n’abagararije. Ico rero, ni co gihano c’abarwanya idini ry’Imana Allah bagahakana bivuye inyuma n’Intumwa yayo."},{"id":27,"translation":"Inyuma y'ivyo vyose rero, abazokwigaya bakavavanura n’ubugarariji bakaninjira mu bwislamu, Imana Allah Izoheza Yumvire uwo Ishatse muri bo, Imubabarire ivyaha vyiwe. Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":28,"translation":"Emwe bemeramana! Ni ukuri, ababangikanyamana barahumanye, ntimukabarekurire kwegera umusigiti mutagatifu w’i Makka inyuma y’uwu mwaka w’icenda kuva Intumwa yimutse. Nimwagira impungenge ko hoba inkurikizi z’ubukene zitewe n’ihagarikwa ry’ibidandazwa vyabo, Imana Allah niyabishaka Izobakenura, Ibahe mu ngabirano zayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi uko mubayeho; Intungane mu vyo Ikora."},{"id":29,"translation":"Bislamu! Nimurwanye abagarariji mu bahawe Igitabu batemera Imana Allah, batemera n’umusi w’iherezo[3], batubahiriza amabwirizwa y’ivyaziririjwe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, batanubaha ngo bubahirize n’amabwirizwa y’ubwislamu, gushika batanze ikori ku bwabo, baciye bugufi.","footnotes":"[3] Ntibemera izuka ry’ibiremwa n’impera bizoronka ku vyo vyakoze."},{"id":30,"translation":"Abayahudi barabangikanije Imana Allah mu kuvuga bati: “Uzairi[4] ni umwana w’Imana Allah”. N’abanaswara nyene barabangikanije Imana Allah mu kuvuga bati: “Masiihi mwene Mariyamu, ni umwana w’Imana Allah”. Iryo ni ijambo ryavuye mu kanwa kabo. Iyo mvugo yabo rero ishusha n’imvugo y’ababangikanyamana bo hambere yabo. Barakicwa n’Imana Allah! Ni gute bemanga ikinyoma bakirengagiza ukuri!","footnotes":"[4] Uzairu, ni umweranda muri Bene Israyeli yafashe Tawurati ku mutwe, maze Bene Israyeli bamwita umwana w’Imana."},{"id":31,"translation":"Bagize abamenyi n’abasenzi muri bo ibigirwamana mu gishingo c'Imana Allah, maze na vyo bibashingira ingingo bubahiriza ha kwubahiriza amabwirizwa yayo. Bagize na Masiihi Isa mwene Mariyamu imana, baraheza baramusenga, kandi batigeze bategekwa kiretse ugusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya n’ikintu na kimwe. Nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo gusa. Nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya."},{"id":32,"translation":"Abagarariji bita ku rutare mu guhakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah, bashaka kuzimanganya umuco w’idini ry’ubwislamu, Imana Allah na Yo Ikanka ko hari ico bashikako, maze Igasasagaza umuco w’idini ryayo rikaganza n’aho vyobabaza abagarariji."},{"id":33,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yarungikanye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) Igitabu ca Qor’ani n’idini ry’ubwislamu, kugira iryo dini riganze ayandi madini yose n’aho vyobabaza ababangikanyamana."},{"id":34,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri, abenshi mu bamenyi n’abasenzi mu bahawe Igitabu, bihereza amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Ntumwa y'Imana! Abaziganya amatungo ntibaheze ngo bayatangeko ishikanwa-bwirizwa n’izindi mperezwa zisabwa ku matungo, bashikirize inkuru y’incamugongo ko bategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka;"},{"id":35,"translation":"Umusi ubutare bw’inzahabu n’ubw'umwakaka bwayongejwe mu muriro wa Jahannamu, bagaheza bakababurwa na nya butare mu ruhanga, mu mbavu no mu mugongo, bazobwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Iki ni co gihano c’amatungo mwiziganirije ntimwayatangako umugabane usabwa. Enda rero, nimuhonje ibihano vy’ivyo mwari mwaraziganije kw'isi, mukanka kubitangako umugabane usabwa”."},{"id":36,"translation":"Mu vy’ukuri, igitigiri c’amezi y’ikirangamisi c’umwaka cisunga ingingo y’Imana Allah, mu vyagezwe ku kibaho kibungabunzwe kuva umusi Irema amajuru n’isi, ni amezi cumi n’abiri; muri yo, harimwo amezi ane matagatifu[5] Imana Allah Yabujijemwo gutera indwano. Ukwisunga ico kirangamisi rero, ni ryo dini rigororotse, ntimugahirahire ngo mwirenganye muri ayo mezi[6]. Muraheza rero murwanye ababangikanyamana bose nk’uko babarwanya mwese, mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana mu kubatera ingoga no mu kubashikana ku ntsinzi.","footnotes":"[5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 “Dhu l-Qa’da”, ukwa 12 “Dhu l-Hijja”, ukwa 1 “Muharram” n’ukwa 7 “Rajab”.\n[6] Kuko icaha gikozwe muri ayo mezi gifise ibihano ruhasha bisumba ibihano vy’uwogikora mu yandi mezi."},{"id":37,"translation":"Ni ukuri, uguhindura amazina y’ayo mezi matagatifu kiziramwo kurwana, agahabwa amazina y’ayandi mezi arekuwemwo kurwana, ni ukwimonogoza mu bugarariji, ni n’uburyo shetani ikoresha mu guhubisha abagararije. Bazirura kurwana mu kwezi gutagatifu, bagahindura izina ryakwo muri uyu mwaka, bakazosubira kukuziririza mu mwaka ukurikira, kugira bubahirize gusa igitigiri c’amezi matagatifu uko ari ane ku mwaka, ivyo bigatuma bazirura muri yo, ayari asanzwe yaraziririjwe n’Imana Allah[7]. Shetani yarabaryohereje ububi bw’ibikorwa vyabo. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo abantu b’abagarariji.","footnotes":"[7] Abarabu b’aho hambere, ntibihanganira kumara amezi ane batihoranye ngo batere indwano; bashatse rero gutera indwano mu kwezi kuziramwo indwano, baca bahindura izina rya nya kwezi gutagatifu muri uwo mwaka, bakakwita izina ry’ukundi kwezi kurekuwemwo indwano, bakazosubiza ku rutonde nya kwezi gutagatifu mu wundi mwaka."},{"id":38,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Bigenda gute, ko iyo mubwiwe muti: “Nimusidukane n’iyonka muje kurwanira idini ry’Imana Allah”, muca munebwa ntimuve hasi! Mbega mwashimye guhitamwo ubuzima bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa! Burya ukuryoherwa n’ivyiza bike vyo kw’isi, kumara akanya gato cane ugereranije n’ukuryoherwa n’ivyiza vyinshi vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizokwamaho ibihe bidahera."},{"id":39,"translation":"Bemeramana! Nimutasidukana n’iyonka mukaja kurwanya abansi banyu, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza, Iheze Izane abandi bantu batari nkamwe bagamburukira Imana Allah n’Intumwa yayo, kandi nta n’ico muzokwicira Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Mushoboravyose, Irashoboye gukingira idini ryayo n’Intumwa yayo."},{"id":40,"translation":"Ngendanyi z’Intumwa! Nimutasidukana n’iyonka mukaja gutabara Intumwa, ni ukuri Imana Allah Yaramaze kuyitera intege no kuyitabara umusi abagarariji bayisohora mu gisagara ca Makka, iri kumwe n’uwugira kabiri[8], igihe bahungira mw’isenga ry’ibuye riri i Makka ku musozi “Thauri”, bakahamara amajoro atatu, igihe Intumwa yabwira uwuri kumwe na yo imuhumuriza iti: “Ntiwicwe n’intuntu kuko Imana Allah Iri kumwe na twe, Iradukingira”. Ni ho rero Imana Allah Yatururuza Intumwa yayo, Iranayiteza intege ingabo z’abamalayika mutashobora kubona n’amaso, Iranasuzuguza ijambo ry’abagarariji, riratsindwa. Burya, ijambo ry’Imana Allah rirakwiye kwubahwa hakaganza ubwislamu. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[9].","footnotes":"[8] Ari we Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire).\n[9] Iyi Aayah, irerekana icubahiro gihambaye ca Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire)."},{"id":41,"translation":"Bemeramana! Murasidukana n’iyonka rero, abasore ku batama, mu gihe c’amahirwe n’amagorwa, muheze muharanire idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yanyu no mu kwitanga mwebwe nyene ubwanyu; ivyo ni vyo vyiza kuri mwebwe. Nimwaba rero mutahura ivyiza biri ku Mana Allah nimuyumvire, mwumvire n’Intumwa yayo."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Indyarya iyo zisabwa kuja kwegeranya iminyago hatarinze kuba indwano no gufata urugendo rutaruhisha, zari kugukurikira[10]. Ariko icatumye zisiba ku rugamba rwa “Tabuuki” rwo kurwanya Abaromani, ni uko urugamba rwabaye mu gihe c’ici. Zizoheza rero zitange ivyireguzo ku gusiba kuri nya rugamba, zirahire zirengwe kw’Izina ry’Imana Allah ko iyo zishobora kuza, zari kujana na mwe ku rugamba, gutyo zihonye zo nyene kuri ico kinyoma n’uburyarya, kandi Imana Allah Izi neza ko mu vy’ukuri zibesha mu vyireguzo vyazo.","footnotes":"[10] Muri iyi Aayah, Imana Allah Iranebagura ingendo y’indyarya zasavye Intumwa uruhusha rwo gusiba ku rugamba rwabereye ahitwa “Tabuuki”."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Urakababarirwa n’Imana Allah ku kureka gukora icari gikenewe kurusha. Ni ku mvo nyabaki warekuriye indyarya gusiba ku rugamba, utabanje gutohoza ko muri zo harimwo izatanze ivyireguzo vy’ukuri ngo umenye n’izabeshe!"},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntibisanzwe ku bemera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’umusi w’iherezo, ko bagusaba uburenganzira bwo kudaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo; burya Imana Allah, Irazi neza abayigamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":45,"translation":"Muvugishwamana! Abagusaba uburenganzira bwo kudaharanira idini ry’Imana Allah, ni abatemera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’umusi w’iherezo, batanarangwa namba n’ugukora iciza, imishaha yabo yuzuye amakenga ku bwislamu n’amabwirizwa yabwo. Bari mu makenga bajuragikira batazi ico bafata n'ico bareka hagati y'ukwemera n'uburyarya;"},{"id":46,"translation":"Muvugishwamana! Iyo indyarya zishaka kujana na we ku rugamba, zari kurwitegurira bikwiye mu gutegekanya impamba n’igitwazi, ariko Imana Allah mu vyagezwe ntiyashimye ko mujana, Iraheza Iraziremereza zibwirwa ziti: “Nimusibe ku rugamba, mugume mu zanyu hamwe n’abarekuriwe kuzigumamwo[11]”.","footnotes":"[11] Abarekuriwe kutaja ku rugamba, bakaba boguma muhira, ni abageze mu zabukuru, abarwaye, abakenyezi n’abana."},{"id":47,"translation":"Bemeramana! Iyo indyarya zijana na mwe ku rugamba, nta co zari kubamarira atari ugukwiragiza ubwononyi n’ibihuha bibaca inkokora; zari no kubacanishamwo zirondera ko musiba ku rugamba; zari no kuronka muri mwebwe ababagendereza bakaziha inkuru zanyu. Burya Imana Allah, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Izoheza Ibahane."},{"id":48,"translation":"Ni ukuri, indyarya zarashatse kugerageza abemeramana mu kwemera no mu kubaburagiza kuja ku rugamba rwa “Tabuuki” imbere yuko ruba. Ntumwa y’Imana! Zaranaguhindutse akatari gake kugira ngo uneshwe[12], kugeza n’aho intsinzi iturutse ku Mana Allah ishika, maze idini ry’Imana Allah riratsinda. Ziranababazwa n’iyo ntsinzi;","footnotes":"[12] Nk’uko vyagenze ku rugamba rwa Uhudi no ku rugamba rwa Khandaqi."},{"id":49,"translation":"Muri izo ndyarya rero, harimwo uwugusaba uburenganzira bwo kutaja ku rugamba, maze akavuga ati: “Ntungerageze ku vyo ntokwihanganira mu guhura n’abakenyezi mu nzira!”. Bantu mwumve mwumvireho! Indyarya zaramaze kugwa mw’igeragezwa rihambaye ry’uburyarya. Mu vy’ukuri, umuriro wa Jahannamu urakikuje abagarariji, nta wuzocaruka;"},{"id":50,"translation":"Muvugishwamana! Ushikiwe n’iciza[13] kirazituntuza. Ushikiwe n’ikibi naho[14] zica zivuga ziti: “Ntuze! Twebwe turi abanyabwenge, twabimenye kare turikingira mu kutajana na Muhamadi”, maze zigahindukira zinezerejwe n’ivyagushikiye.","footnotes":"[13] Nko kunezerwa canke kuronka iminyago.\n[14] Nk’amagorwa canke kuneshwa ku rugamba."},{"id":51,"translation":"Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uzihaniza uti: “Nta kizodushikira kiretse ico twandikiwe n’Imana Allah mu vyagezwe ko kidushikira, ni Yo Nkinzoyabatoni Ikaba n’Umutabazi wacu”. Abemeramana rero nibishimikize Imana Allah bayizere."},{"id":52,"translation":"Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uti: “Mbega ni igiki murindiriye ko kidushikira kiretse kimwe mu vyiza bibiri; ugupfira Imana Allah canke kuronka intsinzi ku rugamba, mu gihe twebwe turindiriye ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya canke tukabicira ku rugamba! Nimurindire rero, na twe mu vy’ukuri turarindiranye hamwe na mwe ico Imana Allah Igiye gukora”."},{"id":53,"translation":"Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uti: “Nimutange mu matungo yanyu ivyo mushatse, uko mushatse kwose; ku bushake bwanyu canke ku gitsure, Imana Allah ntizogenda Yakiriye ivyo mwatanze, kuko mu vy’ukuri mwebwe muri abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo”;"},{"id":54,"translation":"Nta gituma indyarya zitakirirwa ivyo zatanze, kiretse ko zihisha mu mishaha ubugarariji; ntizija no gusenga, kiretse ko zigenda zinebwa; ntizinatanga mu matungo yazo, kiretse ko zitanga ku gitsure[15].","footnotes":"[15] Indyarya ntizizigiye indishi ku vyo zikora, ntizinatinya guhanirwa ivyo ziretse gukora; ivyo bigaturuka ku kwiyorobeka mu kugaragaza ukwemera no mu guhisha ubugarariji."},{"id":55,"translation":"Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, ntugatangazwe n’ubwinshi bw’amatungo n’abana vy’izo ndyarya, ni ukuri Imana Allah Ishaka ko Izigeragereza ku vyo Yazihaye mu buzima bwo kw’isi, gutyo zizosezere isi zikigarariza."},{"id":56,"translation":"Ziranarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah, zibesha ko mu vy’ukuri ziri kumwe na mwe, kandi zitari muri mwebwe. Ariko rero indyarya ni abantu, iyo batinye barahira ku kwiyorobeka."},{"id":57,"translation":"Ziramutse zironse ubuhungiro canke inzitiro ntamenwa zohungiramwo, isenga ry’ibuye canke umwobo zonyegeramwo, zogenda nk’umuravyo zikabahunga."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Muri zo, harimwo abakunebagura ukuntu ugabura imperezwa; iyo ziyihaweko, zirashima zigaceceka; iyo naho zitayihaweko na gato, zirashavura zikakugirira umwikomo."},{"id":59,"translation":"Iyo zishima ivyo zihawe n’Imana Allah n’Intumwa yayo, zigaheza zikavuga ziti: “Iyikwiye kuduhagararira, ni Imana Allah, Izoheza Iduhe mu mpano zayo, Intumwa yayo na yo nyene izoduha mu vyo yahawe n’Imana Allah, mu vy’ukuri twebwe twipfuza ko Imana Allah Yodukenura”, vyari kuba vyiza cane kuri zo."},{"id":60,"translation":"Mu vy’ukuri, ishikanwa-bwirizwa ryagenewe guhabwa aboro[16], abakene[17], abaryegeranya, abakundishwa ubwislamu[18], kubohoza abagurano, kurihira abananiwe kwishura ingurane[19], guharanira idini ry’Imana Allah, hamwe no gufasha uwuri ku rugendo yakehaniwe n’uburyo. Igaburwa ry’iryo shikanwa-bwirizwa ryagenwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.","footnotes":"[16] Ni abatagira shinge na rugero.\n[17] Ni abatagira ibibabeshaho bikwiye.\n[18] Mu bagarariji biboneka ko bashobora kwinjira ubwislamu, canke bakagira ico bamariye abislamu, canke bakaba ari abislamu bafise ukwemera kugoyagoya, bahabwe kugira batsimbatazwe ku kwemera.\n[19] Mu gihe nya ngurane itakoreshejwe mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, canke ngo ikoreshwe mu gusesagura."},{"id":61,"translation":"Mu ndyarya kandi, harimwo ababangamira Intumwa y’Imana mu majambo bakanavuga ko yumviriza ico ari co cose ibwiwe ikacemera ukwo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Muhamadi ni ugutwi kwumviriza iciza iyo kizanana hose ku neza yanyu; yemera Imana Allah, akemera n’ukuri gushikirijwe n’abemeramana, akaba n’impuhwe ku bemeramana bamukurikiye muri mwebwe”. Burya, ababangamira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu buryo ubwo ari bwo bwose, barategekanirijwe ibihano bibabaza cane."},{"id":62,"translation":"Zirabarahirira kw’Izina ry’Imana Allah indahiro z’ikinyoma kugira zibashimishe, Imana Allah n’Intumwa yayo, ni bo zategerezwa gushimisha mu kubemera no kubumvira nizaba ari abemeramana vy’ukuri."},{"id":63,"translation":"Mbega ntiziramenya ko uwo wese arwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, yagenewe ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, azowubamwo ibihe bidahera! Iryo rero, ni ryo herezo ry’agasuzuguro gahebuje[20].","footnotes":"[20] Ukubangamira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kuyicokora no kuyinebagura, ni ukurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo."},{"id":64,"translation":"Indyarya ziriyorobeka, zigatinya ko hohishurwa igisomwa kigaragaza ubugarariji zihishije mu mishaha yazo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Nimubandanye gutebura ku mabwirizwa y’Imana Allah; mu vy’ukuri, Imana Allah Izogaragaza ukuri ku vyo mwiyorobekamwo”."},{"id":65,"translation":"Muvugishwamana! Uramutse ubajije izo ndyarya ku gituma zikunebagura wewe hamwe n’ingendanyi zawe, zizokwishura ziti: “Ni ukuri tuba turiko turiganirira, dutebura gusa bitavuye ku mutima!”. Zibwire uti: “Mbega none, ni ku Mana Allah no kuri Aayah n’Intumwa vyayo muba muriko murateburako!”."},{"id":66,"translation":"Mwa ndyarya mwe! Ntimwiregure namba! Ni ukuri mwaramaze kugarariza kubera iryo tebura mwagize inyuma y’ukwemera. Twebwe Allah, Turamutse Tubabariye umugwi wigaye muri mwebwe, nta kibuza ko Twohanira uwundi mugwi ubugaba bw’itebura ryawo."},{"id":67,"translation":"Indyarya n’indyaryakazi, zose zipfuye rumwe. Zose zirangwa no kwiyorobeka, zigaragaza ukwemera zigahisha ubugarariji, zibwiriza abandi ukugarariza Imana Allah no kugabitaniriza Intumwa yayo, zikababuza ukwemera Imana Allah no kwumvira Intumwa yayo, zikaba ata n'ico zikura ngo zitange. Zaribagiye Imana Allah, ntizaba zikiyibuka namba, gutyo na Yo Iraziyibagiza, Izikura mu mpuhwe zayo, ntiyanazishoboza gukora iciza. Mu vy’ukuri indyarya, ni zo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":68,"translation":"Imana Allah Yarasezeraniye indyarya n’indyaryakazi hamwe n’abagarariji, ko amaherezo yabo bose ari mu muriro wa Jahannamu, bazowubamwo ibihe bidahera. Ni wo bakwiye nta kindi, kanatsinda n’Imana Allah Yarabavumye. Baranategekanirijwe n’ibihano vyamaho."},{"id":69,"translation":"Mwa ndyarya mwe! Inyifato zanyu, ni nk’iz’abantu b’aho hambere yanyu, bari bafise inguvu nyinshi kubasumba, bari banafise amatungo n’uruvyaro kubarusha, baraheza bahurumbira ivy’isi, bararyoherwa bararengwa n’ibihendamaso vyayo. Na mwe nyene rero mwarahurumbiye ivy’isi, muraheza muraryoherwa murarengwa n’ibihendamaso vyayo, nk’uko ab’aho hambere yanyu baryohewe bakarengwa n’ibihendamaso vy’isi, mutako mubeshera Imana Allah nk’uko bayibesheye. Abo barangwa n’izo nyifato, ni bo rero ibikorwa vyabo vyabaye impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na bo rero bazoba mu bahomvye ubuzima bwabo."},{"id":70,"translation":"Mbega izo ndyarya ntizirashikirwa n’inkuru z’ab’aho hambere yazo mu bantu ba Nuhu, Bene Aadi, Bene Thamuudi, abantu ba Ibrahimu, abantu bo muri Madiyani, hamwe rero n’abantu ba Luutwi bafuririwe mu gacimbiri kabo, Intumwa barungikiwe zarashikirije Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah, baca barabigarariza, Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha bakoze! Kira noneho, Imana Allah ntiyari kubarenganya namba ngo Ibahanire ubusa, ariko ni bo birenganije mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":71,"translation":"Abemeramana n’abemeramanakazi baratabarana. Babwiriza abantu kwemera Imana Allah no gukora ivyiza, bakanababuza kugarariza Imana Allah, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakumvira Imana Allah n’Intumwa yayo. Abo ni bo rero, Imana Allah Izogirira impuhwe, Ibashire no mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":72,"translation":"Imana Allah Yasezeraniye abemeramana n’abemeramanakazi kubaha imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bayibemwo ibihe bidahera; Yabategekanirije n’amacumbi ateye igomwe mu bwami bw’ijuru bwa “Adeni”. Ukwishimirwa n’Imana Allah rero, ni kwo guhambaye kuruta inema bazoba barimwo. Iyo ni yo ntsinzi rero ihambaye."},{"id":73,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Rwanya abagarariji n’iminwe, wongere urwanye n’indyarya ukoresheje ingingo n'ivyemezo, uteko ukarire iyo migwi yompi. Ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ayo ni na yo maherezo mabi cane."},{"id":74,"translation":"Indyarya zirarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah zibesha ko zitigera zibangamira Intumwa n’abemeramana. Ziranguha! Zaravuze ijambo ry’ukugarariza ryatumye ziva mu bwislamu, zaranagerageje guhohotera Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze Imana Allah Irakinga ntizagira ico zishikako. Nta n’ico zinegura abemeramana, kiretse ko Imana Allah Yabahaye ingabirano n’imigisha bazaniwe n’Intumwa yayo. Abagarariji nibaramuka bisubiyeko bakagaruka ku Mana Allah bakigaya, bizoba ari vyo vyiza kuri bo; nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukuri, Imana Allah Izobahanisha ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kira noneho, ntibazoronka mw’isi yose uwubakura mu bihano, eka nta n’uwubibakingira bazoronka."},{"id":75,"translation":"Mu ndyarya, burya harimwo abakene biyemeza ku Mana Allah bati: “Imana Allah niyaduha mu ngabirano zayo, ni ukuri tuzotanga imperezwa, kandi ni ukuri tuzokora n’ivyiza bituma tuba mu beranda”;"},{"id":76,"translation":"Imana Allah Imaze kubaha mu ngabirano zayo, baciye baba ingumyi ntibatanga namba, baraheza bagenza umugongo birengagiza ubwislamu;"},{"id":77,"translation":"Imana Allah Ica Ibahanisha uburyarya mu mitima yabo bwiyongereye ku bwo bari basanganwe, ntibazopfa babwikuyemwo gushika bahuye na Yo ku musi w'iharurirwa, ivyo bikazoba bitewe no guca kubiri n’ivyo biyemeje ku Mana Allah, n’ukuntu baranzwe n’ububeshi hamwe n’uburyarya."},{"id":78,"translation":"Mbega none, izo ndyarya ntiziramenya ko Imana Allah Izi neza ivyo zihishije mu mishaha, hamwe n’ivyo zongorerana mu migambi mibi, n’uko Imana Allah Izi neza ibinyegejwe ibiremwa! Nta nkeka rero ko Izozihembera ivyo zakoze."},{"id":79,"translation":"N’aho rero zitigera zitanga imperezwa, ni zo zinebagura abatanga mu bemeramana ko batanga ku kwiyerekana, zikananebagura abakene batanze ibingana n’ivyo bafise, zikababwira n’agasuzuguro n'akantu ziti: “Iyi mperezwa mutanze imaze iki!”. Zirakanebagurwa n’Imana Allah! Zaranategekanirijwe ibihano bibabaza."},{"id":80,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gusabira ikigongwe indyarya no kutakizisabira, vyose ni kimwe. N’aho rero woramuka uzisabiye ikigongwe incuro nyinshi, Imana Allah ntizogenda Izigiriye ikigongwe, kuko zagararije Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":81,"translation":"Abasivye ku rugamba rwa Tabuuki, bararyohewe n’ugusigara i Madina baciye kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba basivye ku kwanka kujana na yo guharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, baraheza babwirana hagati yabo bati: “Ntimuhirahire ngo mugende ku rugamba mu bushuhe buri aho![21]”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Umuriro wa Jahannamu nyabuna ni wo urimwo ubushuhe bw’akataraboneka”, nibaba koko bazi ico ari co ubushuhe.","footnotes":"[21] Hari ku rugamba rwa “Tabuuki” rwabaye ari mu ci, izuba rimena imbwa agahanga."},{"id":82,"translation":"Izo ndyarya zitagiye ku rugamba rero, nizitwenge gake mu buzima bwo kw’isi, zinitegurire no kurira kenshi mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo zari zararondeye kw’isi."},{"id":83,"translation":"Ntumwa y’Imana! Imana Allah niyakugarukana amahoro uvuye ku rugamba rwa Tabuuki, ugahura n’umugwi w’izo ndyarya, maze ukagusaba ko mwojana ku rundi rugamba, urawubwira uti: “Ntimuzokwigera mujana nanje na rimwe ku rugamba, kandi ntimuzokwigera mufadikanya nanje kurwanya umwansi, mu vy’ukuri mwarashimishijwe no gusiba ubwa mbere ku rugamba; nimwiyicarire rero mugumane n’abasivye ku rugamba, batigeze bajana n’Intumwa\" (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":84,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugahirahire ngo usengere umuntu n’umwe muri zo mu gihe apfuye; ntukagire n’uwo usabira ku mva yiwe. Mu vy’ukuri, indyarya zaragararije Imana Allah n’Intumwa yayo, gutyo zirinda zipfa ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah [22].","footnotes":"[22] Iyi ngingo ifata indyarya iyo ari yo yose mu gihe imenyekanye ko ari indyarya."},{"id":85,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugatangazwe rero n’ubwinshi bw’amatungo n’abana vy’izo ndyarya, ni ukuri Imana Allah Ishaka kuzihanira mu buzima bwo kw’isi mu kwamana umwitwarariko w'ivyo Yazihaye, maze zizopfe zikigarariza."},{"id":86,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo uhishuriwe igisomwa kibwiriza giti: “Nimwemere Imana Allah, munaharanire n'idini ry’Imana Allah muri kumwe n’Intumwa yayo, murondera indishi kuri Yo”, abifise mu ndyarya baca bagusaba n'impungenge n'akantu ko mutojana bati: “Enda tureke twigumanire hamwe n’abarekuriwe kutaja guharanira idini![23]”.","footnotes":"[23] Abafise ibituma bibarekurira kutaja ku rugamba; nk’abageze mu zabukuru, abarwaye, abakenyezi n’abana."},{"id":87,"translation":"Indyarya zashimye kuba imburakimazi mu kugumana n’abarekuriwe kutaja guharanira idini, ku mitima yazo haratewe ikimangu c’ubugarariji, ku kubera uburyarya no kutajana n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku rugamba, ntizinatahura namba indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah."},{"id":88,"translation":"Indyarya n’aho zitojana n’Intumwa ku rugamba, Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’abemeramana bari kumwe, baraharaniye idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, abo ni bo bategekanirijwe intsinzi n’iminyago kw’isi, bakazoterwa n’iteka ryo kuja mu Bwami bw’ijuru; abo, ni na bo rero baronse intsinzi;"},{"id":89,"translation":"Imana Allah Yarabategekanirije ku musi w’izuka imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye."},{"id":90,"translation":"Bamwe mu banyagihugu bo mu micungararo y’igisagara ca Madina, baraje kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), basaba ko batojana na yo ku rugamba kugira ibarekurire gusiba; maze abahakanye Imana Allah n’Intumwa yayo, baraheza bigumira mu zabo ku kagagazo, ntibaja kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abagararije rero muri bo, bazohanishwa ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":91,"translation":"Abaje kwisigura ku Ntumwa mu bafise intege nke, abakitswe n’amagara, eka n’abakene badashoboye kwitegurira kuja ku rugamba, nta caha kuri bo co gusiba ku rugamba mu gihe bokweza imitima ku bw’Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanubahiriza amabwirizwa yayo, nta kuntu rero abagwaneza nk’abo bohanwa; burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":92,"translation":"Ntumwa y’Imana! Eka nta n’icaha ku baje bakugana bashaka ko ubafasha icobashikana ku rugamba, maze ukababwira uti: “Nta bitwazi noronka vyobashikana ku rugamba!”, bagaca basubira inyuma amosozi yicunda bishwe n’agahinda n’akantu ko kutagira ico batanga n’icobashikana ku rugamba."},{"id":93,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, icaha no kunebagurwa ku kutaja ku rugamba, ni ku bagusaba kurusibako kandi bishoboye batanabuze ikibashikanayo. Abo, ni indyarya zashimye kugumana n’abarekuriwe kutaja guharanira idini ry’Imana Allah, Imana Allah na Yo Ica Itera ikimangu c’uburyarya ku mitima yazo, bituma zitamenya ibihano bizirindiriye."},{"id":94,"translation":"Bemeramana! Igihe mwagarutse muvuye ku rugamba rwa Tabuuki, abasivye kuri rwo bazobireguzako ikinyoma. Ntumwa y’Imana! Uraheza rero ubishure uti: “Ntimwirirwe muriregura, mu vy’ukuri ivyanyu Imana Allah Yamaze kubitumenyesha. N’aho mwokwiregura rero, ntiturota tubemera namba. Kubera ivyo rero, Imana Allah n’Intumwa yayo bazoraba ko mwikebuka mukigaya. Nimwatsimbatara ku buryarya naho, Imana Allah Izoheza Igaragarize abantu uburyarya bwanyu mukiri kw’isi; mumaze gupfa naho muzosubizwe ku Mana Allah Rumenyi rw’ibinyegeje n’ibiboneka, Iheze Ibahembere ivyo mwakoze”;"},{"id":95,"translation":"Nimwagaruka muvuye ku rugamba rero, bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma, kugira ntimubaharire ivomo. Nimubaharire ivomo rero mubirengagize, mu vy’ukuri barangwa n’umutima mubi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi."},{"id":96,"translation":"Bemeramana! Bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma kugira mubishimire; nimwaramuka mubishimiye kuko mutazi ko barangwa n’ikinyoma, muramenya mu vy'ukuri ko Imana Allah Itishimira namba abantu b’ibigaba barenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":97,"translation":"Abarabu baba mu micungararo y’ibisagara, barangwa n’ubugarariji hamwe n’uburyarya bw’agahebuza gusumba ababa mu bisagara[24]; baranakwiye kutamenya imbibe z’amabwirizwa Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuntu babayeho; Intungane mu vyo Ikora.","footnotes":"[24] Ivyo biterwa n’uko barangwa kenshi n’agatimatare gaturutse ku bumenyi buke butewe no kutaronka inyigisho zikwiye."},{"id":98,"translation":"Burya mu Barabu baba mu micungararo y’ibisagara, harimwo uwufata ivyo atanze mu guharanira idini ry’Imana, ko ari agahombo ata n’ico bimwungura, agaheza akabatega imisi y’akaga. Kira noneho, ni bo barindiriwe n’imisi y’akaga! Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana;"},{"id":99,"translation":"Muri abo, harimwo n’abemera Imana Imwe Rudende Allah bakanemera n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, no kugira ngo basabirwe n’Intumwa y’Imana. Bantu nimwumve mwumvireho! Ivyo bakora birabegereza koko ku Mana Allah. Imana Allah rero Izobinjiza ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":100,"translation":"N’ababaye aba mbere mu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo mu bimukira n’abasangwa, hamwe n'ababakurikiye mu kwemera mu mvugo n’ingiro ku bugwaneza, barondera gushimwa n’Imana Allah, Imana Allah Yarabishimiye kw'iyumviramana ryabo, na bo nyene kandi barayishimiye ku mpembo y’ivyo bakoze, Yaranabategekanirije imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye[25].","footnotes":"[25] Iyi Aayah ireza ikanashimagiza ingendanyi z’Intumwa ko zari intungane, ni na co gituma ukwubaha no kwubahiriza ingendanyi z’Intumwa, ari kimwe mu bigize ishingiro ryo kwemera."},{"id":101,"translation":"Ntumwa y’Imana! No mu banyagihugu baba mu micungararo y’igisagara ca Madina harimwo indyarya; no mu baba i Madina nyene, harimwo indyarya zitsimbataye ku bwononyi, zikwiyorobekako. Humura rero Twebwe Allah Turazizi, Tuzozihana incuro zibiri: Tuzozihanisha ukwicwa, ukugirwa imbohe mu ndwano hamwe no guteterezwa kw’isi; Tuzozihanisha kandi ibihano vyo mu mva, hanyuma zihabwe ibihano bihambaye mu muriro udahera."},{"id":102,"translation":"Hari n’abandi rero mu bantu baba i Madina no mu micungararo yaho, bemanze ivyaha vyabo barigaya, baraheza baranabisabira imbabazi, bavanze ivyiza[26] n’ibibi[27]. Abo rero, hari aho Imana Allah Yobakirira ukwigaya kwabo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[26] Vy’ukwigaya ivyaha no gukora ibindi vyiza.\n[27] Vy’ukutajana n’Intumwa ku rugamba n’ibindi bibi bakoze."},{"id":103,"translation":"Muvugishwamana! Mu matungo y’abasivye ku rugamba rwa Tabuuki hanyuma bakigaya, urayatorako imperezwa ibeza ivyaha vyabo; wongere ubasabire imbabazi ku Mana Allah, mu vy’ukuri igisabisho cawe kuri bo, ni impuhwe n’ituze ry’umutima. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibisabo be n'ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa n'ivyo bizirikana, Izohembera kimwe cose ico cakoze."},{"id":104,"translation":"Mbega none, abasivye ku rugamba rwa Tabuuki hamwe n'abarugiyeko ntibaramenya ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yakirira ibiremwa ukwigaya kwavyo, Ikemera imperezwa Ikanayihembera, n’uko kandi ari Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira muri vyo, Nyenimbabazi ku batoni bayo!"},{"id":105,"translation":"Muvugishwamana! Bwira abasivye ku rugamba uti: “Nimukore ibitegetswe n’Imana Allah mwirinde ubugaba, Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bazoheza babone ivyo mwakoze, maze muhinyuke, muzonasubizwa ku Mana Allah Rumenyi rw’ibinyegeje n’ibiboneka, Iheze Ibabwire ku musi w’izuka ido n’ido y’ivyo mwari mwarakoze kw’isi[28]”.","footnotes":"[28] Iyi Aayah, harimwo agahigihigi kuri uwo wese adahesha mu bugaba n’ubwononyi."},{"id":106,"translation":"Bemeramana! Mu basivye ku rugamba rwa Tabuuki, harimwo n’abandi [29] bicujije ku vyo bakoze, bakirindiriye ingingo y’Imana Allah ibega; ko Yobahana canke Yobababarira. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi uwukwiye guhanwa canke kubabarirwa; Intungane mu vyo Ikora;","footnotes":"[29] Abo na bo bakaba ari: MURARA mwene Al-Rabii’i, KA’B mwene Maalik na Hilaali mwene Umayya."},{"id":107,"translation":"N’indyarya zakanagaye zikubaka umusigiti mu ntumbero yo kuburabuza abemeramana, kugarariza Imana Allah hamwe no gucanishamwo abemeramana; ngo habe abaheba gusengera mu musigiti wa Qubaa bahora basengeramwo, mu kurindira uwitwa Abu Aamir Al-Raahib yatanguye kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, kugira agire nya musigiti ihuriro ryo kuburabuza abemeramana. Izo ndyarya rero, zizorahira kw’Izina ry’Imana Allah zirengwe, ziti: “Ni ukuri, ntitwigeze twubaka uwo musigiti kiretse ku bugwaneza, mu ntumbero yo kworohereza abashaka gusengera hafi, badashoboye kuja mu musigiti wa Qubaa[30]”. Burya Imana Allah, ni Icabona ko mu vy'ukuri zibesha mu vyo zirahirira;","footnotes":"[30] Uwo musigiti wubatswe n’indyarya wahavuye usenyurwa uranaturirwa."},{"id":108,"translation":"Muvugishwamana! Ntuzokwigere usengera na rimwe muri uwo musigiti. Ni ukuri umusigiti wa Qubaa wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana[31] kuva umusi wubakwa, ni wo nyabuna ukwiye gusengeramwo. Uwo musigiti, urimwo abantu bakunda kwisukura no kweza umutima. Burya Imana Allah, Irakunda abisukura bakeza umutima.","footnotes":"[31] Umusigiti wa Qubaa, niwaba wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana kuva umusi wubakwa, umusigiti wubatswe n'Intumwa i Madina wowo urushirizaho mu kuba wubatswe muri iyo ntumbero nyene."},{"id":109,"translation":"Uwubatse inyubakwa yiwe ku mushinge w’igamburukiramana, arondera gushimwa n’Imana Allah, ntashobora kunganya ubutore n’uwubaka inyubakwa yiwe ku manga iri mugusenyuka, maze akahubaka umusigiti mu ntumbero yo kugarariza, kuburabuza abemeramana no kubacamwo imigwi, nya nyubakwa rero igaheza ikamukororera mu muriro wa Jahannamu. Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":110,"translation":"Ihangiro ry’inyubakwa yubatswe n’indyarya ku kubangamira umusigiti wa Qubaa, ryagumye ribonekera mu makenga n’uburyarya bitsimbataye mu mitima yazo gushika zipfe canke zicwe, canke zigaye koko ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi amakenga yuzuye imitima yazo n’ihangiro ryazo mu kwubaka nya musigiti; Intungane mu vyo Ikora."},{"id":111,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramaze kuguza ubuzima n’amatungo vy’abemeramana, Ubwami bw’ijuru; kuko baharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga ivyabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo kugira idini ryayo riganze, maze bakica canke bakicwa. Iryo ni ryo sezerano ry’ukuri riri muri Tawurati, mu Njiili no muri Qor’ani. Nta n’umwe rero yokwubaha akubahiriza isezerano kurusha Imana Allah. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimuhimbarwe n’urudandaza mwagize n’Imana Allah mu kuguza ubuzima bwanyu Ubwami bw'ijuru, iyo ni na yo ntsinzi rero ihambaye."},{"id":112,"translation":"Abahawe iryo sezerano rero, ni abigaya ku Mana Allah bakavavanura n’ivyaha; abitonesha mu kuyiyegereza mu vyo bakora vyose; abayishimagiza mu buryo ubwo ari bwo bwose, uko biri kwose; abipfunga; abayunamira bakanayubamira mu masengesho; ababwiriza abandi gukora ivyiza bakanababuza gukora ibibi; abubaha bakubahiriza amabwirizwa yayo ntibayarengeko. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana barangwa n’iyo migenzo, inkuru nziza ibahumuriza ko bishimiwe n'Imana Allah n'uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru."},{"id":113,"translation":"Nta ho vyakabaye ko Umuvugishwamana hamwe n’abemeramana, basabira imbabazi ku Mana Allah, ababangikanyamana bapfuye bakibangikanya n’aho boba bari abavandimwe babo, mu nyuma y'aho bamenye neza na neza ko bari mu bantu bo mu muriro ururumba[32].","footnotes":"[32] Ku kubera ko Imana Allah Itababarira ibangikanyamana. Imana Allah Yavuze Iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ku vyaha ngo Ibabarire uwuyibangikanya” (An-Nisaa-i: 48). Iranavuga kandi Iti: “Mu vy’ukuri, uwuzobangikanya Imana Allah, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru” (Al-Maa-ida: 72)."},{"id":114,"translation":"Ugusaba imbabazi kw'Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) kuri se yabangikanya Imana Allah, ntikwigeze kuba koko, kiretse ko ryari isango yamuhaye ryo kuzomusabira ku Mana Allah[33]. Aho rero amenyeye ko se ari umwansi w’Imana Allah, adahanurwa, akazohava apfa akiri umugarariji, yaciye areka kumusabira nya mbabazi ku Mana Allah, aranavavanura na we. Mu vy’ukuri, Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ni ukuri ni umutakamvyi koko ku Mana Allah, irangwa n’ubwitonzi no kubabarira kenshi.","footnotes":"[33] Raba Aayah ya 47 mu gisomwa citiriwe Mariyamu."},{"id":115,"translation":"Nta ho vyakabaye ko Imana Allah Ireka umugwi w’abantu ngo uhube inyuma y’aho Iwurongoreye mu nzira igororotse, Itabanje kuwumenyesha amabwirizwa yayo ngo uyigamburukire canke ngo uyihakane. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikenewe mu kurongoka mu nzira yayo."},{"id":116,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo [34]. Itanga ubuzima Ikanabwaka. Bantu mugabitaniriza Imana Allah! Nimumenye ko ata n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka mbere nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo.","footnotes":"[34] Ni na co gituma Imana Allah Idakwiye kubangikanywa mu kurema kwayo, mw’itunganiriza ry’ibiremwa, mu bumana bwayo no mu gushinga amateka kwayo."},{"id":117,"translation":"Ni ukuri, Imana Allah Yarashoboje Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kuyitakambira no kuyumvira, Yaranumviye Igirira ikigongwe n’abateshejwe izabo bakimukira i Madina, hamwe n’abasangwa babakiriye hamwe n’Intumwa, bakabatabara, bakanajana n’Intumwa ku rugamba rwa Tabuuki mu gihe c’ubukene n’ubushuhe bumena imbwa agahanga, Imana Allah Yabagiriye ikigongwe inyuma y’aho muri bo harimwo umugwi wariko uragonanwa ku mutima, uhakwa kutaja kuri nya rugamba, maze Irawuremesha urarujako. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":118,"translation":"Vyongeye, Imana Allah Yarumviye Igirira n'ikigongwe abantu batatu[35] mu basangwa basivye ku rugamba rwa Tabuuki, hanyuma baratuntura ku mutima gushika n’aho isi ibagira kandi isanzwe yagutse kubera agahinda n’ukwicuza, barabura iyo baja n’iyo bava, baraheza baramenya ata gukekeranya ko ata buhungiro bafise kiretse ku Mana Allah. Ni ho rero mu nyuma Imana Allah Yabumvira, Iraheza Irabashoboza kwigaya kuri Yo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[35] Ari bo MURARA mwene Al-Rabii’i, KA’B mwene Maalik na Hilaali mwene Umayya."},{"id":119,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kandi mwame na ntaryo muri kumwe n’imvugakuri."},{"id":120,"translation":"Ntivyari bibereye na gato ko abantu baba mu gisagara ca Madina n'ababa mu micungararo yaco, basiba ku rugamba ngo ntibajane n’Intumwa y’Imana Allah (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); eka ntibari no gushima kuruhuka mu zabo mu gihe Intumwa y’Imana iri ku muruho w’urugamba. Ivyo rero vyatewe n’uko batigera bashikirwa n’inyota, umuruho canke inzara mu gihe bari mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, eka ntibanaca ahantu bigashavuza abagarariji ko bahaciye, eka ntibigera bananesha canke ngo bice umwansi, kiretse ko kuri ivyo vyose, bandikirwa n’Imana Allah indishi y’ibikorwa vyiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntitakaza namba indishi z’abagwaneza;"},{"id":121,"translation":"Ntibanatanga bike canke vyinshi ku bw’Imana Allah, nta n'akabande barengana bagiye guharanira idini ry’Imana Allah, kiretse ko babihemberwa, kugira Imana Allah Ibahe indishi nziza ibereye gusumba."},{"id":122,"translation":"Ntivyari na ngombwa rero ko abemeramana bagira rimwe bose ku rugamba, nk’uko bitari vyo ko basibira rimwe bose. Ese iyo hagira abaja ku rugamba bakwiye, bavuye mu migwi yose, hakagira rero n’abasiba ku rugamba kugira baronke akaryo ko kwiga idini, gutyo bakazogabisha benewabo ku bihano vy’Imana Allah igihe basubiye inyuma, kugira ngo biyubare ibihano vyayo."},{"id":123,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutangure kwica abari hafi yanyu mu bagarariji, baheze bumve ubukazi bwanyu, munamenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n'abagamburukiramana mu kubatabara no mu kubashikana ku ntsinzi."},{"id":124,"translation":"Iyo Intumwa y'Imana imanuriwe igisomwa muri Qor’ani, mu ndyarya ntihabura uwuvuga atebura n'akantu ati: “Mbega yemwe! Ni nde muri mwebwe yongererejwe ukwemera n’iki gisomwa!”. Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo, imanurwa rya nya gisomwa riraheza rikabongerereza ukwemera no kuzigama ibirimwo, bakanabihimbarirwa."},{"id":125,"translation":"Nayo abo imitima yabo yasinzikajwe n’indwara y’uburyarya n’amakenga mw’idini, imanurwa rya nya gisomwa ribongerereza uburyarya ku bwo bari basanganwe, bakazorinda bapfa bakiri abagarariji."},{"id":126,"translation":"Ubwo none, indyarya ntizibona ko zigeragezwa n’Imana Allah ku mapfa, kubaho nabi no guteterezwa rimwe canke kabiri ku mwaka ku mwaka! Hamwe n’iryo geragezwa rero, ntiziheza ngo zigaye ku Mana Allah, ngo zivavanure n’uburyarya, eka mbere ntizinibuka namba ivyemezo vy’Imana Allah ngo zikebuke."},{"id":127,"translation":"Iyo rero hamanuwe igisomwa ca Qor’ani, kiza gishira ahabona uburyarya bwazo, ziraheza zikavunanira urugohe ku guteterwa n’ukumaramara n’akantu, zikavuga ku mutima n’ishavu n’akantu ziti: “Hari n’umwe yobabona mu gihe mwohaguruka mukava mu cicaro c’Intumwa!”; zigaheza rero zigahaguruka, zikiyonjorora ata wuzibona ku kwanka guteterwa. Burya Imana Allah, Yarakebanije imitima yazo ntizashobora kwemera koko, ku kubera ko zidatahura icubahiro c’Imana Allah ngo zikebuke."},{"id":128,"translation":"Bemeramana! Mwarashikiriwe n’Intumwa ivuye muri mwebwe nyene, ituntuzwa n’ibibabangamira, yitwararika ko muba abemeramana koko, irangwa n’ikigongwe n’impuhwe nyinshi ku bemeramana."},{"id":129,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana n’indyarya, nibirengagiza kukwemera, urababwira uti: “Iyikwiye kumpagararira muri vyose, ni Imana Allah; nta yindi mana ikwiye gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo nishimikije nkizera mu vyanje vyose, ni na Yo Mana Rurema w’Ubuhangamo bwayo buhambaye[36]”.","footnotes":"[36] Ubuhangamo bw’Imana Allah “ARSH”, ni co kiremwa amahanga gihambaye kuruta ibindi biremwa vyose."}]},{"id":10,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu gitunganye neza, catunganijwe n’Imana Allah Iraheza Iragitomorera ibiremwa.","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Mbega biratangaje ku bantu, kuba Twebwe Allah Twaramanuriye Qor’ani umwe muri bo, Tukamubwiriza Duti: “Bagabishe ku bihano vy’Imana Allah, unashikirize abemeye Imana Allah n’Intumwa, inkuru nziza ibahumuriza ko Imana yabo Rurema Allah, Yabategekanirije indishi nziza ku vyiza bakoze”! Igihe Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yashikiriza ivyo yahishuriwe, abagarariji barinamuye bavuga bati: “Mu vy’ukuri, uyu Muhamadi, ni ukuri ni umurozi yeruye”."},{"id":3,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri, Imana yanyu Rurema ni Allah, Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose; ku Buhangamo bwayo \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Itunganiriza ibiremwa ata na kimwe kivuyemwo. Nta musavyi azovugira uwundi ku musi w’izuka, kiretse inyuma yuko Imuhaye uburenganzira. Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, enda nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya. Ubwo ntimwokwibuka mukanyurwa na Aayah za Qor’ani!"},{"id":4,"translation":"Ni ku Mana yanyu Rurema Allah muzosubira mwese ku musi w’izuka. Iryo ni isango ry’ukuri ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Ishoboye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ishoboye no kubisubiza ubuzima n’indemo bikazuka inyuma yo gupfa, kugira Ihembe abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe indishi ikwiye. Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, barategekanirijwe ikinyobwa c’amazi asebuye akaryimara, abashishura mu maso, akanacagagura n’amara; barategekanirijwe n’ibihano bibabaza bitewe n'ubugarariji bwabo;"},{"id":5,"translation":"Ni Yo Yaremye izuba ryakaka, Irema n’ukwezi kubonesha, Iraheza Igenera ukwezi ibituro kugira mumenyere ku mboneko yakwo, igitigiri c’amezi n’imyaka; muheze mumenye n’imisi kw’iseruka ry’izuba. Ivyo vyose rero, Imana Allah ntiyabiremye kiretse mu ntumbero y’ukuri mu kugaragaza ubushobozi n'ububasha nta ngere n’ubumenyi vyayo. Burya Imana Allah Itomorera ivyemezo vy’ubushobozi bwayo abantu bazi ihangiro ryayo mu kurema."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, mw’ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango, no mu bitangaza Yaremye mu majuru no mw’isi, n’indinganizo iri hagati yavyo, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku bantu batinya bakiyubara ibihano vy'Imana Allah."},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twebwe Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze[2], bakishimira ubuzima buciriritse bwo kw’isi, bakanabwigura, hamwe n’abagoswe mu kutemera Aayah n'ivyemezo vyacu [3];","footnotes":"[2] Abatemera ko hari iharurirwa ry’ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze.\n[3] Ivyemezo bibonekera mu vyo Twaremye no mu vyo Twamanuye muri Qor’ani."},{"id":8,"translation":"Abo rero, ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi."},{"id":9,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, Imana yabo Rurema Allah, Iraheza Ikabarongora ku kwemera kwabo, mu nzira yo gukora ivyiza bitegetswe bazohemberwa Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi;"},{"id":10,"translation":"Ibisabisho vy'abari mu Bwami bw’ijuru, ni itagatifuza ry’Imana Allah bavuga bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana Nzima”. Indamusto yabo na yo, ni “Gira amahoro! [4]”. isozerwa ry’ibisabisho vyabo na ryo, rizorangwa no gushimira hamwe no gushimagiza Imana Allah bati: “Al-Hamdu lillaahi Rabbi l’aalamiin”, (Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose).","footnotes":"[4] “Assalaamu alaykum”, ni yo ndamutso abari mu Bwami bw’ijuru bazoramukanya, ikaba ari na yo bazoramutswa n'Imana Allah hamwe n'abamalayika bayo."},{"id":11,"translation":"Imana Allah, iyo Yihutira kwishura ikibi gisabwa n’abantu nka kurya Yihutira kwishura iciza basavye, ni ukuri bari guhona, hanyuma Twebwe Allah Tugaheza Tukarekera abatizeye guhura na Twe, mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana."},{"id":12,"translation":"Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca adusaba Twebwe Allah adutakambira ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; yaba mu gihe akitse urubavu, mu gihe yicaye canke ahagaze; Turamutse rero Tumukuyeko nya vyago vyamushikiye, aca abandanya mu ngeso mbi nk’uko yari ari nya vyago bitaramushikira; womenga ntiyigeze atwitabaza ngo ashoke adushimira! Ni nk’uko nyene rero - uwushikiwe n’ivyago aryoherezwa kubandanya kugarariza inyuma yo kubimukurako - shetani iryohereza abimonogoje mu bugarariji, kubandanya bagarariza."},{"id":13,"translation":"Babangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":14,"translation":"Bantu! Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twabagize abasubirizi kw’isi kugira Turabe ivyo mukora; vyaba ivyiza canke ibibi, gutyo Tuzoheze Duhembere umwe wese muri mwebwe ivyo yakoze."},{"id":15,"translation":"Ababangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo[5]”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.","footnotes":"[5] Uheze uzirure ibiziririjwe, uziririze n’ibiziruye, ahavugwa igabisha ku bihano havugwe ihumuriza ku kigongwe c’Imana Rurema Allah, wongere ureke kunebagura ibigirwamana vyacu."},{"id":16,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ishura abo babangikanyamana uti: Imana Allah iyo Ishaka, sinari kubasomera Qor’ani, eka ntiyari no kuyibamenyesha namba, ni ukuri murazi neza ko nabanye na mwe igihe kirekire, sinari bwigere ndabasomera Qor’ani imbere yuko ndayihishurirwa. Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure koko, ko Qor’ani ari ukuri kuzima!"},{"id":17,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah canke uwuhakana yivuye inyuma Aayah zayo. Mu vy’ukuri, abanyavyaha bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo, ntibazokwigera baroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa."},{"id":18,"translation":"Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga[6], bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! [7]”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.","footnotes":"[6] Haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa.\n[7] Iyo biba vyo, ko ibigirwamana bishobora kubavugira ku Mana Allah, Imana Allah Yari kuba Ibizi kubasumba."},{"id":19,"translation":"Abantu bose burya bari mw’idini rimwe ry’ubwislamu hanyuma bicamwo imigwi, gutyo muri bo habamwo abagarariji, habamwo n’abagumye mu bwislamu. Iyo rero hataba ijambo ry’impuhwe zo kutihutira guhana ibigaba rivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona, maze hagasigara gusa abagororotsi."},{"id":20,"translation":"Abagarariji bavuga ku guhakana n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Ubumenyi bw’ibinyegejwe, ni ubw’Imana Allah, ni Yo Izi igihe bikenerwa ko Imanura ikimenyetso gifadika. Kubera ivyo rero, nimurindire ingingo y’Imana Allah ku bigaba canke ku bagororotsi, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”."},{"id":21,"translation":"Iyo Twebwe Allah Duhonjeje abagarariji ku mpuhwe zacu bakoroherwa inyuma y’ivyago vyabashikiye, baca bagarariza bagatebura kuri Aayah zacu. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Burya Imana Allah, Irihuta guhinyura no gukwegera ibigaba mu bihano bukebuke”. Mu vy’ukuri, Intumwa zacu z’abamalayika zirandika ata kwihenda igarariza n’itebura vyabo kuri Aayah zacu, Tuzoheza rero Tubibahanire."},{"id":22,"translation":"Imana Allah, ni Yo Ibashoboza kwiyunguruza muciye hasi ku bitwazi no mu gihe musoza mu bwato muciye mw'ibahari. Iyo rero muri mu bwato, bugasunikwa n’akayaga keza, abari muri nya bwato akamwemwe kabasya; mu nyuma y’aho hakaza umuyaga w’igihuhusi, ba bantu bari mu bwato bakugarizwa n’imikuba ivuye hirya n’ino, bakabona neza na neza ko urwabo rwashitse bagire batwarwe, muri ico gihe baca bambaza Imana Imwe Rudende Allah, bakibagira n'ivyo bahora bayibangikanya, bagaheza bakavuga bitabariza bati: “Mana Allah! Mu gihe Wodukura muri kano kaga turimwo, ni ukuri twoba mu bantu bagushimira koko!”;"},{"id":23,"translation":"Imana Allah Yabumvira, Ikabakura muri nya kaga bakarusimba, bagashoka bagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu gukora ivyaha. Emwe bantu! Ni ukuri, ingaruka mbi z’ubugaba bwanyu zibagarukako mwebwe nyene. Nimuryoherwe rero gato n’ubuzima bwo kw’isi, hanyuma impera n'imperuka muzosubizwa kuri Twebwe Allah, Duheze Tubamenyeshe ido n’ido ivyo mwari mwarakoze kw’isi."},{"id":24,"translation":"Ni ukuri, akarorero k’ubuzima bwo kw’isi hamwe n’ibihendamaso vyabwo, ni nk’amazi y’imvura Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, yamara kugwa kw’isi ibiterwa n'ubwatsi, ari na vyo bitunze abantu n’ibitungwa, bikanaga. Imirima yamara gutotahara, bene yo na bo bakibwira ko bazosoroma bakivuna inzara, hagaca haza mw’ijoro canke ku murango ingingo yacu yo guhonya nya biterwa n’ubwatsi, isi na yo ikagaduka ikaba ubukumbagare; nk’aho umenga nta ndimo yigeze iharangwa. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dushoboye guhonya ibihendamaso vy’isi - Dutomorera ivyemezo vyacu bigaragara, kugira abantu biyumvire baheza bahitamwo icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":25,"translation":"Imana Allah rero, Irarikira abantu kuja mu Bwami bw’ijuru, Ikanarongora uwo Ishatse mu biremwa mu kumushoboza gutumbera inzira igororotse y’ubwislamu."},{"id":26,"translation":"Abemeramana bumvira Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanayisenga mu bugwaneza nk’aho bayibona, baragenewe Ubwami bw’ijuru, vyongeye bazobona Imana Allah ukuri kwamye, ntibazorengwa n’intumo, eka ntibazonasuzugurika ngo bijirirwe ku musi w’izuka. Abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":27,"translation":"Nayo abakoze ibicumuro kw’isi bakanagarariza Imana Allah, bazohemberwa ibikorwa vyabo bibi, maze babihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku rugero rungana n’ibibi bakoze, basuzugurike; ntibazoronka uwubakingira ibihano vy’Imana Allah, bazokwijirirwa mu maso; ubabonye wogira ngo bambitswe umuzimiza w’ijoro ry’umwijima tsiritsiri. Abo, ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":28,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Twebwe Allah Twegeranirije hamwe ibiremwa vyose kugira biharurirwe, vyongere bihembwe, hanyuma Tukabwira ababangikanyamana Duti: “Ubu rero murahagaritswe, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu mwahora musenga”. Tuzoheza rero Dutandukanye ababangikanyamana n’ivyo basenga, maze ivyo basenga bibihakane, biteko bibabwire biti: “Eka si twebwe namba mwahora musenga kw’isi;"},{"id":29,"translation":"Burya Imana Allah, Irakwiye kutubera Icabona twebwe hamwe na mwe, Ikaturenganura mu kwerekana ko twebwe tutari tuzi namba ivyo mukora n’uko ari twe mwasenga”."},{"id":30,"translation":"Aho rero ubutigu buzoba bugeze, aho umuntu uwo ari we wese yisuzuma akanamenya neza na neza ivyo yakoze, agaheza akabihemberwa. Aho rero ibiremwa vyose bizoba bisubiye ku Mana Allah Umuhagarikizi n'Umubungabunzi wavyo. Nayo ibigirwamana bizozimangana kuko ata co bizomarira ababangikanyamana."},{"id":31,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde abaronsa ibibabeshaho bivuye mw’ijuru biciye mu kugwa kw’imvura, n’ibivuye mw’isi iyo itotahaye hakanaga ibiterwa bibabeshaho, hamwe n’ubwatsi bubeshaho ibitungwa vyanyu! Ni nde agaba akanashoboza ugutwi kwumva, agashoboza n’amaso kubona! Ni nde agaba urupfu agatanga n’ubuzima ku biremwa vyose, agaheza akarema kizima mu capfuye, akanakura icapfuye muri kizima! Ni nde atunganya ivyerekeye ijuru n’isi n’ubuzima bw’ibiri hagati yavyo!”. Bazoheza bishure bemanga ko Uwutunganya ivyo vyose, ari Imana Allah. Uraca ubabaza rero uti: “Ubwo none ntimwotinya ibihano vy'Imana Allah mugaheza mukayigamburukira!”."},{"id":32,"translation":"Iyo Mana Allah rero, ni Yo Mana yanyu Rurema y’ukuri, Ibwirizwa gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa. Burya, nta kiza inyuma y’ukuri atari ubuhuvyi! Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!"},{"id":33,"translation":"Ni nk’uko nyene rero - abagarariji barendegera mw'ibangikanyamana bagahuba akagirire - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryagirije ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo, ko bitazogenda vyemeye Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega mu bigirwamana vyanyu, hoba harimwo igishoboye gutanguza irema ry’ibiremwa, hanyuma kikabihonya, kigaheza kikabizura kikabiha indemo nk’iya mbere!”. Babwire uti: “Imana Allah, ni Yo gusa Ishoboye gutanguza irema ry’ibiremwa, hanyuma Ikabihonya, Igaheza Ikabizura Ikabiha n'indemo nk’iya mbere”. None ni gute mubangikanya Imana Allah ha kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":35,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega mu bigirwamana vyanyu, hoba harimwo igishoboye kurongora ikiremwa mu nzira y’ukuri!”. Ihibambewe! Nta na kimwe bishoboye. Babwire uti: “Imana Allah, ni Yo gusa Ishoboye kurongora uwahuvye inzira, Ikamugarura mu nzira y’ukuri”. None burya uwushoboye kurongora mu nzira y’ukuri, si we yategerezwa gukurikirwa, ha gukurikira uwudashoboye kurongora uwahuvye, vyongeye na we nyene kandi akeneye uwumuhubura! Mbega mwafashwe n’iki, gushika n’aho mufata ingingo yo kunganisha Imana Allah n’ibiremwa vyayo!"},{"id":36,"translation":"Abenshi mu babangikanyamana, ntibakurikira mw’ibangikanyamana ryabo, kiretse ko hamwe n’ivyo bafise amakenga ko ibigirwamana bibegereza koko ku Mana Allah. Mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigushikana ku kuri namba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bagira vyose."},{"id":37,"translation":"Nta n’umwe yoshobora kwiyitirira Qor’ani akavuga ko itavuye ku Mana Allah, ariko Imana Allah Yayimanuye kugira ishimangire ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ko idini ry’Imana Allah ari rimwe, no kugira itomore neza amabwirizwa yahawe abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muri Qor'ani, ata makenga ko yahishuwe n’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":38,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero bavuga ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe! Babwire uti: “Enda rero nimuzane igisomwa na kimwe gisa nka Qor’ani, munararikire n'abo mushoboye havuyemwo Imana Allah, mu bantu no mu majini kugira babafashe nimwaba koko muri imvugakuri ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe”."},{"id":39,"translation":"Ahubwo rero bihutiye guhakana bivuye inyuma Qor’ani bakiyumva, bataranatahura ido n’ido ibirimwo[8], bataranashikirwa n’ukuri kw’ivyo yabasezeraniye. Ni nk’ukwo nyene rero[9] ab’aho hambere yabo bagararije. Ntumwa y’Imana! Itegereze rero ukuntu iherezo ry’abirenganije ryagenze[10]!","footnotes":"[8] Nk’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa, guhemberwa ivyo vyakoze Ubwami bw’ijuru canke umuriro, n’ibindi.\n[9] Ababangikanyamana bagararije ivyo bagabishijweko.\n[10] Muri bo, harimwo abahonejwe na nyamugigima, harimwo n’abahonejwe n’isoma nturi, n’ibindi."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu bantu bawe warungitsweko, harimwo abemera Qor’ani, harimwo n’abatayemera namba. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abagenzwa n’ubwononyi bwo kutemera Qor’ani, kandi Izobibahanira."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana nibaramuka baguhakanye bivuye inyuma, uraheza ubabwire uti: “Ndafise idini ryanje nisunga mu vyo nkora, na mwe nyene murafise idini ryanyu mwisunga mu vyo mukora; mwebwe ntimuzohanirwa ivyo nkora kandi nanje sinzohanirwa ivyo mukora”."},{"id":42,"translation":"No mu bagarariji nyene, harimwo abakwumviriza iyo uriko urasoma Qor’ani ariko ntibemere ngo barongoke. Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamatwi vyumva bikanyurwa n’aho vyoba bidatahura[11]!","footnotes":"[11] Aha, Imana Allah Igereranya abumviriza Qor’ani ntibaheze ngo bemere, nka ba nyamuragi batumva ivyo uvuga n’aho wosemerera, kuko badatahura. Nka kurya rero, ata wushobora gutuma nyamuragi yumva ibivugwa, ni ko ata wushobora gutuma umugarariji yumvirije Qor’ani ayihakana, yemera mu gihe Imana Allah Itabishatse."},{"id":43,"translation":"Mu bagarariji harimwo n’abakuraba n’ivyemezo ushikiriza, ntibaheze ngo bemere kurongoka. Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamaso bibona bigatumbera inzira n’aho vyoba bitabona ukuri ngo binyurwe[12]!","footnotes":"[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Igereranya ababona ivyemezo vyotuma bemera, ntibaheze ngo bemere, nka kurya kw’impumyi zitabona ngo zitumbere inzira. Nka kurya rero, ata wushobora gutuma impumyi ibona ngo itumbere inzira, ni ko umugarariji abona ivyemezo vyotuma yemera akabihakana, ata wushobora gutuma yemera mu gihe Imana Allah Itabishatse."},{"id":44,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, nta na kimwe Irenganyako abantu mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa indishi, ariko abantu ni bo nyene birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":45,"translation":"N’igihe Imana Allah Yegeranirije hamwe ababangikanyamana bose ku musi w’izuka, bakaba nk’aho batigeze baba kw’isi kiretse isaha imwe gusa y’umurango, bazoheza bamenyane nk’uko bari bakiri kw’isi, hanyuma nya kumenyana guhere mu kanya isase. Ni ukuri, harahomvye abagararije bagahakana bivuye inyuma, ko bazozuka bagahura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze. Kira noneho, ntibari no gushobozwa kuba abagororotsi."},{"id":46,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nitwaramuka Tukweretse ukiri muzima bimwe mu bihano Twabasezeraniye kw’isi, canke Tukakwaka ubuzima ugapfa Tutarabikwereka, uko biri kwose ico womenya, ni uko impera n'imperuka bazosubizwa iwacu Twebwe Allah. Hanyuma Imana Allah, ni Yo Cabona ku vyo bagira vyose kw'isi, kandi Izobibahembera."},{"id":47,"translation":"Bantu! Umugwi uwo ari wo wose w’abantu wabayeho aho hambere yanyu, wararungikiwe Intumwa ivuye muri bo; nk’uko mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ibararikira kwumvira Imana Allah. Igihe rero haje Intumwa yabo ku musi w’izuka, bazocirirwa urugororotse, eka ntibazorenganywa namba."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza bavuga bati: “Mbega umusi w’izuka ni ryari, niwaba wewe n’abagukurikiye muri imvugakuri mu vyo mudusezeranira?”."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nta kibi nshoboye kwikingira, eka nta n’ico nokwimarira kiretse ico Imana Allah Yashatse ko kiba”. Burya umugwi wose w’abantu urafise isango wagenewe ryo gupfa; igihe rero isango ryawo ryo gupfa ryageze, ntushobora kwongerezwa ikiringo co kubaho eka n’ikiringo co kubaho, ntikinashobora guhera imbere y’isango nyezina."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nyabuna, nimumbwire uko mwovyifatamwo, igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mw’ijoro canke ku murango! Mbega abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bihutira iki mu gusaba ibihano!”."},{"id":51,"translation":"Mbega bagarariji! Inyuma y’aho mushikiwe n’ibihano, ni ho mwokwemera Imana Allah, kandi nya kwemera muri ico gihe ata co kwobamarira! Mwoheza mukabwirwa muti: “Ubu ni ho mubonye kwemera Imana Allah kandi mwahora muyiteburako!”;"},{"id":52,"translation":"Hanyuma abirenganije mu kugarariza Imana Allah na bo, bakabwirwa bati: “Nimwumvirize ibihano vy’Imana Allah vyamaho, burya mugira ngo murahembwa kiretse ku vyo mwari mwararondeye kw’isi!”."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye guhanwa ku musi w’izuka, ko ari ivy’ukuri! Bishure uti: “Ego cane, ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema Allah, ni ivy’ukuri koko, kandi na mwe ntimuzonanira Imana Allah ko Ibazura, Ikanabahembera ivyo mwakoze”."},{"id":54,"translation":"Umuntu uwo ari we wese yirenganije mu kugarariza Imana Allah, iyo aba ashobora kugaba ibiri kw’isi vyose, akemererwa kubitanga ngo ntahanwe ku musi w’izuka, yovyigomboje mu bihano; abirenganije bazokwiyorobeka mu kutagaragaza ukwicuza igihe babonye ibihano vy’Imana Allah, bazoheza rero bacirirwe urugororotse, eka ntibazorenganywa namba ngo bacirirwe urwa ngondagonde."},{"id":55,"translation":"Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiri mu majuru no mw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah. Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo guhura no guhana ababangikanyamana, ni iry’ukuri, ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi."},{"id":56,"translation":"Imana Allah, ni Yo Itanga ubuzima, ni na Yo Yaka ubuzima; impera n'imperuka rero ni kuri Yo muzosubizwa nimwazuka."},{"id":57,"translation":"Emwe bantu! Ni ukuri, mwarashikiriwe n’Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, kibagabisha ku bihano, kikanaremesha abemeramana, kirimwo n’agakiza k’indwara zihungabanya umushaha; nk’ubujuju n’ibangikanyamana. Muri co, harimwo kandi uburongozi n’impuhwe ku bemeramana."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bose uti: “Ni ku mpano n’impuhwe vy’Imana Allah vyatumye Ibahitiramwo idini ry’ubwislamu”. Kubera ivyo rero, nibagire akamwemwe, kuko ivyo ni ivyiza nta ngere kuri bo, biruta amatungo bahurumbira kwegeranya."},{"id":59,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma Qor’ani, uti: “Enda nyabuna, nimumbwire ico mwibaza ku vyerekeye ibibabeshaho[13] mwaremewe n’Imana Allah, maze mukazirura bimwe muri vyo, ibindi mukabiziririza!”. Babaze uti: “Burya none, ni Imana Allah Yabarekuriye kuvuga ivyo! Canke murementaniriza Imana Allah ivyo Itigeze Ivuga!”.","footnotes":"[13] Mu bitungwa, ibiterwa n’ibindi vyiza mwaremewe n’Imana Allah."},{"id":60,"translation":"Mbega abarementaniriza Imana Allah ivyo Itigeze Ivuga, bibaza ko Imana Allah Itazobibahanira ku musi w’izuka! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimpano ku bantu[14], ariko rero abenshi muri bo ntibashima impano zayo.","footnotes":"[14] Mu kutihutira guhana abayibeshera ng’aha kw’isi."},{"id":61,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntivyigera bishika na rimwe ko hagira ico utunganya, ico usoma muri Aayah za Qor’ani, eka nta n’ico mukora mwebwe abantu caba iciza canke ikibi, kiretse ko Twebwe Allah Tuba Turi Icabona, Tubibona neza igihe mutanguye kubikora kugira Tubibungabunge, Tuzonabibahembere; nta n’icinyegeza Imana yawe Rurema Allah mw’isi eka no mw’ijuru nyene, n’aho coba kingana n’akantu inzatsa, eka mbere n’aho coba gito cane canke kinini kuruta inzatsa, kiretse ko canditswe kandi kibungabunzwe ku Mana Allah mu Gitabu gitomora vyose."},{"id":62,"translation":"Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, abatoni b’Imana Allah, nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi;"},{"id":63,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanashira mu ngiro ivyo ibabwirije, bakongera bagatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;"},{"id":64,"translation":"Barafise inkuru nziza iremesha ivuye ku Mana Allah, ko bazororanirwa mu buzima bwo kw’isi[15], n’uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta gihinduka rero mu vyo Imana Allah Yabasezeraniye, iyo ni yo ntsinzi rero ihambaye.","footnotes":"[15] Biri mu biremesha abatoni b’Imana Allah kw’isi, kurota canke kuroterwa indoto nziza ziremesha."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’ibivugwa n’ababangikanyamana mw'irementanya ryabo, mu vy’ukuri intsinzi y’inganji kw’isi no mw’ijuru, ni iy’Imana Allah, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana."},{"id":66,"translation":"Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiremwa vyose [16] biri mu majuru no mw’isi, ni ivy’Imana Allah. Mbega abasenga ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, bisunga ukuhe kuri! Nta co bakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse irementanya ry'ibangikanyamana;","footnotes":"[16] Ibiremwa vy’ibinyabuzima; abamalayika, abantu, amajini n’ibindi."},{"id":67,"translation":"Ni Yo Yabaremeye ijoro kugira muturure, muruhuke umuruho wo ku murango; Ibaremera n'umurango kugira mwishire mwizane mu kurondera ikibabeshaho. Mu vy’ukuri, mw’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango mw'ibisikanya ryavyo, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu bumva, bagategera, bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende Ikwiye gusengwa Itabangikanywa."},{"id":68,"translation":"Ababangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana[17]. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!","footnotes":"[17] Nk’uko bavuze kandi ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah, canke ko Masiihi Isa mwene Mariyamu, ari umwana w’Imana Allah."},{"id":69,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: \"Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko ifise umwana bakanayibangikanya, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa\";"},{"id":70,"translation":"Bazoryoherwa gusa gato n'iryo rementanya kw’isi; hanyuma impera n’imperuka nibapfa, bazosubizwa iwacu Twebwe Allah, Duheze Tubahonje ibihano bikaze vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ukuntu bagararije."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Cira agace abagarariji b’i Makka ku nkuru ya Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abantu yarungitsweko, igihe yabwira abantu biwe ati: “Emwe bantu banje! Nimwaba mubangamiwe n’ukuba ndi kumwe na mwe, n’ukubibutsa ivyemezo vy’uko Imana Allah ari Imwe Rudende, nimumenye ko jewe nishimikije Imana Allah nkayizera, enda nyabuna rero, nimugire ico mupfunditse, mwebwe hamwe n’abo mucuditse, kandi ntimubigire mu mpisho ngo mwiyorobeke, muheze rero mumpe igihano mwipfuza, ntimundindirize n’akanya na gato;"},{"id":72,"translation":"Nimwaramuka rero mugenjeje umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, jewe nta mpembo ndabasavye kw’ishikiriza-butumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, nategetswe no kuba mu bislamu bicisha bugufi kuri Yo."},{"id":73,"translation":"Abantu ba Nuhu rero, baramugararije, Turaheza Twebwe Allah Turamurokora we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato igihe c’isegenya, ni na bo Twahavuye Dusubiriza abahonejwe, Dushoka Dusomesha nturi abagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Raba rero ukuntu iherezo ry’abagabishijwe ku bihano vy’Imana Allah ntibumva, ryagenze!"},{"id":74,"translation":"Mu nyuma y’irungikwa rya Nuhu, ni ho Twarungika Intumwa zitandukanye ku bantu bazo[18]. Izo Ntumwa ziraheza ziza zibazaniye ivyemezo vyerekana ko ziri mu kuri, abantu zarungitsweko, ntibigeze bemera ukuri bashikirijwe, ari na kwo kwagararijwe n’abarungikiwe Intumwa aho hambere yabo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’ab’aho hambere yabo kubera ubugaba bwabo, ntibashobora kwemera - Dutera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abarenga imbibe z'Imana Allah z'ibibujijwe.","footnotes":"[18] Huudi, Swalehe, Ibrahimu, Luutwi na Shu’ayibu, n’izindi."},{"id":75,"translation":"Mu nyuma y’irungikwa ry’izo Ntumwa, ni ho Twarungika Intumwa Musa na murumunawe Haruna (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) kwa Firawuni n’abunganizi biwe, Tuzirungikana ibitangaro vyemeza ko ari Intumwa z’ukuri, maze Firawuni n’abunganizi biwe bagira amanyama n'akantu mu guhonyanga ukuri, vyongeye bari n'abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":76,"translation":"Igihe rero bashikirwa n’ibitangaro Twarungikanye Musa, vyemeza ukuri yazanye, bavyamiriye kure bavuga bati: “Mu vy’ukuri, ivyo Musa yerekana, ni uburozi bweruye”."},{"id":77,"translation":"Maze Musa arumirwa abishura ati: “N’aho nakagendeye! Karashize ingani muvuge ko n’ibitangaro nabazaniye vyemeza ukuri, ari uburozi bweruye! Ubwo mwihweje neza, ntimubona ibitangaro nabazaniye ko ari ivy’ukuri! Burya abarozi ntibigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":78,"translation":"Firawuni n’abunganizi biwe bavuze babwira Musa bati: “Karashize ingani uze kudukura mu kwemera kwacu kwo gusenga ibigirwamana, twasanze abavyeyi bacu basenga, uheze wewe na murumunawe Haruna muce muba ibihangange ku butaka bwa Misiri! Ihibambewe, ntiturota tubemera namba!”."},{"id":79,"translation":"Firawuni yashotse avuga ati: “Enda nyabuna rero, nimunzanire umukonikoni uwo ari we wese karuhariwe”."},{"id":80,"translation":"Nya bakonikoni ba Firawuni bamaze kuza, Musa yababwiye ati: “Enda nyabuna rero, nimuterere hasi imizana n’inkoni vyanyu”."},{"id":81,"translation":"Ba bakonikoni bamaze guterera hasi nya mizana n’inkoni vyabo, Musa yababwiye ati: “Ivyo mwazanye mugaterera hasi, ni ubukonikoni bwigendera! Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabuzimanganya; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitunganya namba ibikorwa vy’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi;"},{"id":82,"translation":"Imana Allah Iranatsimbataza ukuri kw’amajambo yayo, maze ikinyoma kigakubitirwa ahabona n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo”."},{"id":83,"translation":"Hamwe n’ivyo bitangaro vyose rero, Musa nta wamwemeye mu bantu biwe ku gutinya ibihano vya Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse abantu bari ku rushi bari muri Bene Israyeli. Mu vy’ukuri, Firawuni yarimonogoje mu bwishime kw’isi; mu vy’ukuri, yari no mu bimonogoje mu bugarariji."},{"id":84,"translation":"Musa yabwiye abantu biwe ati: “Bantu banje! Nimwaba mwemera Imana Imwe Rudende Allah mukubahiriza n’amabwirizwa yayo, enda nyabuna rero, nimuyizere nimwaba mwicisha bugufi kuri Yo”."},{"id":85,"translation":"Abantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe[19];","footnotes":"[19] Mu gushoboza abagarariji kutunesha bagashoka bavuga ngo iyo idini ryabo riba iry’ukuri, ntibari kuneshwa."},{"id":86,"translation":"Dukingire ku mpuhwe zawe, ihohotera n’agacinyizo k’abantu b’abagarariji”."},{"id":87,"translation":"Twaranahishuriye Musa na murumunawe Haruna Duti: “Nimufate muronderere abantu banyu amazu muri Misiri bahungiramwo ihohotera n’agacinyizo ka Firawuni, muheze mugire nya mazu ihuriro ryanyu, mwongere mutsimbataze isengesho ku mwanya waryo. Musa! Uranashikiriza kandi abemeramana inkuru nziza ihumuriza y’intsinzi n’indishi ihambaye”."},{"id":88,"translation":"Musa yahavuye atakambira Imana Allah avuga ati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Wahaye Firawuni n’abunganizi biwe ibiryohera amaso mu buzima bwo kw’isi, ha kugushimira, babikoresheje mu guhubisha abantu inzira yawe. Mana yacu Rurema Allah! Honya amatungo yabo ntihagire ico azobamarira, Wongere Utere ikimangu ku mitima yabo, ntibazokwemere gushika bibonereko ibihano bibabaza”."},{"id":89,"translation":"Imana Allah Yishuye Musa na Haruna Iti: “Ni ukuri, igisabisho canyu[20] kuri Firawuni, camaze kwemerwa. Kubera ivyo rero, nimuhagararire idini ryanyu bikwiye, mubandanye kurarikira Firawuni n’abunganizi biwe, ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; ntimugakurikire namba inzira y’abadatahura ukuri kw’isezerano ryanje”.","footnotes":"[20] Musa ni we yasaba, hanyuma Haruna na we akitabira \"Aamiin\"."},{"id":90,"translation":"Twaranajabukije Bene Israyeli ibahari, maze Firawuni n’abunganizi biwe baraheza barabakurikira kubera akarenganyo n’urwanko babafitiye; Firawuni atanguye gusoma nturi, ni ho yavuga ati: “Nemeye ko ata mana kiretse Imana Yemewe na Bene Israyeli, kandi nanje ndi mu bislamu bicisha bugufi, basenga Imana Imwe Rudende batayibangikanya”."},{"id":91,"translation":"Ewe Firawuni! Ubu uri ku mpfiro, ni ho wemanga ko Imana ari Imwe Rudende, kandi wahora uyigarariza imbere yuko usoma nturi, wari no mu bononyi baca kubiri n’amabwirizwa yayo!"},{"id":92,"translation":"Uno musi rero, Turarokora ikiziga n’ibihimba vyawe kugira abohakana ko atari wewe wasomeshejwe nturi, bakwibonere ukuri kwamye, uheze ubere inkebuzo abazoza mu nyuma. Mu vy’ukuri, abenshi mu bantu baragotwa bakirengagiza ivyemezo vyacu."},{"id":93,"translation":"Ni ukuri, Bene Israyeli Twarabahaye uburaro n’uburamuko mu bihugu vya Shaamu na Misiri, Turanabaronsa ivyiza bibaryohera, bitazira; ntibigeze bacanamwo mw’idini, kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi bubasaba gushira hamwe, gufatana mu nda hamwe rero no kukwemera [21]. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ku musi w’izuka, Izobacira urutunganye, Iheze Igaragaze ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanako kuri wewe.","footnotes":"[21] Nko kumenya ivyerekana umuzo w’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bivugwa muri Tawurati, n’aho bahavuye bayihakana."},{"id":94,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uramutse ugize amakenga ku kuri kuri mu vyo Twakumanuriye, uraheza ubaze abasoma Tawurati n’Injili mu bahawe Igitabu aho hambere yawe, kugira ngo bemange ko ari ivy’ukuri. Ni ukuri, warashikiriwe n’ukuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah ko wewe uri Intumwa yayo nk’uko biri muri Tawurati n’Injili. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu bakekeranya ko uri Intumwa vy’ukuri [22];","footnotes":"[22] Iyi Aayah, yerekana ko ababangikanyamana ata citwazo bafise co kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kuko n’abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara barazi neza ko n’aho bayigarariza, ari Intumwa y’Imana vy’ukuri."},{"id":95,"translation":"Ntukabe no mu bahinyuza bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana Allah, wohava uba mu bahomvye ubuzima bwabo."},{"id":96,"translation":"Mu vy’ukuri, abo ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kuvuma no guhana ryagiriye, ntibemera ivyemezo vyayo, eka ntibanayemera ngo bubahirize amabwirizwa yayo;"},{"id":97,"translation":"N'iyo bashikiriwe n’inkebuzo, gushika n'aho bashikirwa n’ibihano bibabaza bakabibona ukuri kwamye, ico gihe bazoheza bakwemere, kandi ukwemera kwabo muri ico gihe, ata co kuzobamarira."},{"id":98,"translation":"Nta banyagacimbiri bigeze bemera mu gihe bagiriwe n’ibihano, maze ukwemera kwabo kukagira ico kubamariye, kiretse abantu barungikiwe Intumwa Yunusu mwene Mattaa (nyakugira amahoro y’Imana Allah); igihe babona ko bagiye guhanwa, barigaye ku Mana Allah, baraheza barayemera, ni ho rero Twebwe Allah Twaca Tubakurako ibihano bisuzuguza vyari bigiye kubashikira, Turaheza Tubaha kuryoherwa gato n’ubuzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo."},{"id":99,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo Imana yawe Rurema Allah Ishaka ko abari kw’isi bemera bose, nta cari kubuza ko bose bemera ukuri wabazaniye. Wewe rero ntushobora namba guhatira abantu ku kwemera [23]!","footnotes":"[23] Kuko Imana Allah Irongora mu nzira yayo uwo Ishatse mu gihe agamburutse, Igahubisha uwo Ishatse mu gihe abaye intumva."},{"id":100,"translation":"Kira noneho rero, nta muntu n’umwe ashobora kwemera Imana Allah, kiretse ku gushobozwa na Yo ku burenganzira bwayo. Burya Imana Allah, Iha ibihano abantu badatahura amabwirizwa yayo, ntibananyurwe n’ivyemezo vyayo."},{"id":101,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Enda nyabuna, nimurabe maze munyurwe n’ivyemezo bigaragara biri mu majuru no mw’isi”. Ariko rero ivyemezo n’igabisha ku bihano vy’Imana Allah, nta co vyungura abantu batavyemera."},{"id":102,"translation":"Mbega barindiriye iki kugira bemere, kiretse umusi babonye ibihano bigiye kubashikira; nk’uko vyashikiye ababayeho aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ingingo y’Imana Allah ku bigaba, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”."},{"id":103,"translation":"Hanyuma Twebwe Allah Tuzoheza Turokore Intumwa zacu n’abemeramana bari kumwe na zo. Ni nk’uko nyene rero - Twabarokoye - Dutegerezwa kukurokora na we Ntumwa y’Imana hamwe n’abemeramana muri kumwe."},{"id":104,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Nimwaba mufise amakenga kw’idini ryanje ry’ubwislamu ndabararikira kwinjira, nimumenye ko jewe ntasenga namba mu gishingo c'Imana Allah, ivyo musenga mu bigirwamana, ahubwo nsenga Imana Allah Ishoboye kubaka ubuzima mugapfa, naranategetswe kuba mu bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo”."},{"id":105,"translation":"Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah, kandi ntukabe namba mu babangikanyamana;"},{"id":106,"translation":"Kandi ntugasabe mu gusenga ikitari Imana Allah, ata na kimwe cokumarira mu gihe wogisaba, eka ata n’ico cokwicira mu gihe woreka kugisaba. Mu gihe rero, woramuka ugisavye, woca uba mu babangikanyamana birenganije mw'ibangikanyamana[24];","footnotes":"[24] Ingingo iri muri iyi Aayah, n’aho itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko ishirwa mu ngiro ryayo, ryerekeye abislamu bose muri rusangi."},{"id":107,"translation":"Imana Allah mu gihe Yogutera ivyago, nta n’umwe yobigukuramwo kiretse Yo Yonyene; hamwe naho Yoguha kuroranirwa mu buzima, nta n’umwe yobuza ko uroranirwa. Burya Imana Allah, Itera ivyago canke Igaha kuroranirwa uwo Ishatse mu biremwa vyayo; ni na Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":108,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Mwaramaze gushikirwa n’Intumwa ibazaniye Qor’ani ivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, irimwo uburongozi; uwuzotumbera rero inzira igororotse, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we, akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi. Kira noneho, nanje sinshinzwe kubahatira kwemera, ahubwo nshinzwe gusa kubashikiriza ubutumwa butomoye”."},{"id":109,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kurikira unagendere ivyo wahishuriwe n’Imana Allah, maze wihanganire iyumviramana n'ibigushikira mw'ishikiriza-butumwa ryawe, gushika Imana Allah Izobacire urutunganye. Ni na Yo rero Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa."}]},{"id":11,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Raa[1]. Iki Gitabu, Imana Allah Yamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Aayah zaco zaratunganijwe neza mu mpinyanyuro, hanyuma ziratomorwa neza mu vyerekeye amabwirizwa avuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose;","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Kugira ntimwiyegereze mu vyo mukora vyose munasenga, kiretse Imana Imwe Rudende Allah, mutayibangikanya. Mu vy’ukuri, jewe Muhamadi ndi Umugabisha gusa ku bihano vyayo, nkongera nkashikiriza inkuru ihumuriza abemeramana ku ndishi zayo;"},{"id":3,"translation":"Muraheza rero musabe Imana yanyu Rurema Allah, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire; hanyuma mugaruke kuri Yo mwigaye, Iheze Ibahe kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi gushika umusi warwo, Iheze Ihe n’indishi itagabanije uwo wese yahawe impano y'ubumenyi akanabugendera. Nimwagenza umugongo naho mukirengagiza ubutumwa bwanje, muramenya ko mu vy’ukuri, jewe ntinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’umusi uhambaye w’izuka[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah, igabisha uwo wese agenza umugongo mu guhakana Intumwa, akanirengagiza amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":4,"translation":"Impera n'imperuka, iherezo ryanyu mwese ni ku Mana Allah, ni na Yo Mushoboravyose, Irashoboye kubazura inyuma yo gupfa Ikabasubiza ubuzima, Ikanabahembera ivyo mwakoze."},{"id":5,"translation":"Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bahisha ubugarariji mu mishaha yabo, bibaza ko bohisha Imana Allah nya bugarariji bwabo. Mbega ntibazi ko n’igihe bambaye bakikwiza, Imana Allah Izi neza ivyo bahisha n’ivyo bagaragaza! Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibihishijwe mu mishaha."},{"id":6,"translation":"Nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi, kiretse ko Imana Allah Yakigeneye ibikibeshaho, Irazi n’aho gifise icumbi mu buzima bwo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Irazi n’ahantu kizopfira, ivyo vyose kandi biranditswe ku Mana Allah mu Gitabu gitomora vyose."},{"id":7,"translation":"Ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu. Imbere y’aho, Ubuhangamo bwayo bukaba bwari hejuru y’amazi. Ivyo rero, Imana Allah Yabigize kugira Ibagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza[3] ku bwayo kurusha abandi. Ntumwa y’Imana! Niwabwira abantu bawe warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, mwebwe muzozurwa musubizwe ubuzima inyuma yo gupfa”, ni ukuri abagarariji bazokwihutira guhakana bivuye inyuma, bavuge bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye!”.","footnotes":"[3] Ibikorwa vyiza, ni ivyo vyose bikorwa ku bw’Imana Allah, bikisunga inyigisho z’intumwa."},{"id":8,"translation":"Nitwatenyenya kw'ihanwa ry’ababangikanyamana gushika kw’isango rizwi, bazovuga batebura bati: “None, ni igiki gituma tudahanirwa ihakana ryacu nimba ivyo bihano biriho koko!”. Bantu nimwumve mwumvireho! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, nta n’umwe azobihagarika canke ngo abibakureko; nya bihano bahora bateburako imbere yuko bishika, bizobugariza ku mpande zose."},{"id":9,"translation":"Iyo Duhonjeje umuntu ku mpuhwe zacu inema yo kuroranirwa, akagira amagara n’umutekano, n’ibindi nk’ivyo, bwaca Tukamwaka nya nema, araheza agaca acika intege akarangwa n’umwiheburo atwihakana ku nema Twamuhaye."},{"id":10,"translation":"Iyo naho Tumuhonjeje inema y’ibimubeshaho, akikenura inyuma y’amagorwa yamukozeko, aca avuga yigamba ati: “Amagorwa n’ivyago ndabisezeye pe!”. Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu arakunda kwishimira inema, akarenza n’urugero mu kwirata ku bandi."},{"id":11,"translation":"Ariko abihangana ku bw’Imana Allah mu gihe bashikiwe n’ivyago, bakanakora n’ivyiza bitegetswe ku gushima inema zayo, abo ni bo rero bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, bazoronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa."},{"id":12,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ku kubera igarariza n’ihakana ry’ababangikanyamana, hari n’aho kumbure vyotuma uhesha kubashikiriza bimwe mu vyo wahishuriwe ukanategekwa kubishikiriza, gutyo ugatuntuzwa n’ukuba batipfuza kuvyumva, maze ukanatinya ko bohava bagusaba amananiza; nko kuvuga bati: “Ntiyari gutuma amanurirwa amatungo menshi ngo tumwemere, canke akazanana n’umumalayika yemeza ubutumwa bwiwe!”. Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero ata guhigimanga ivyo Jewe Allah Naguhishuriye. Ni ukuri, nta kindi ujejwe kuba kiretse ko uri Umugabisha ku bihano vyanje. Burya Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’ibintu vyose."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero ababangikanyamana bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor'ani! Bishure uti: “Nivyaba biri nk’uko mubivuga, enda rero nimuzane ibisomwa cumi birementanije nka Qor’ani nk’uko mubivuga, munararikire n'abo mushoboye hatarimwo Imana Allah, mu bantu no mu majini kugira babafashe nimwaba koko muri imvugakuri ko Qor’ani ari irementanya\"."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abo babangikanyamana nivyabananira bakanareka kubumvira mu vyo mubararikiramwo wewe n’abemeramana, muramenya rero ko Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah ku bumenyi bwayo, mumenye kandi ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. Mbega none, inyuma y'ivyo vyose ntimwoshishikara muri abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah!"},{"id":15,"translation":"Muri mwebwe rero, abakora ku kurondera ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, Tuzobahembera ibikorwa vyabo mu buzima bwo kw’isi nyene ata kigabanijweko;"},{"id":16,"translation":"Abo ni bo rero ata co bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse umuriro wa Jahannamu; ivyo bakoze kw’isi bizobabera impfagusa, ntibizokwemerwa namba kuko bitakozwe ku bw’Imana Allah."},{"id":17,"translation":"Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo[4] cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe.","footnotes":"[4] Icemezo kivugwa ng’aha, ni umumalayika Jibrili canke Intumwa Muhamadi (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah)."},{"id":18,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah. Abarementaniriza Imana Allah rero, bazoshengezwa ku Mana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, kugira Ibahembere ivyo bakoze; abamalayika, Intumwa, n’ibindi biremwa bazoba ivyabona, maze bavuge bati: “Aba, barementanirije Imana yabo Rurema Allah bakiri kw’isi, Imana Allah Yaramaze kubashavurira. Emwee! Abirenganije barakavumwa n’Imana Allah”;"},{"id":19,"translation":"Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":20,"translation":"Abo ni bo rero, batazonanira Imana Allah ngo bayihunge kw’isi, eka nta n’umwe havuyemwo Imana Allah, bazoronka abakingira, canke ngo abakure mu bihano vyayo. Bazogwirizwa ibihano mu muriro wa Jahannamu kuko batashoboye kwumviriza Qor’ani ngo ibungure, kira noneho kandi ntibigeze babona n’ivyemezo vy’Imana Allah ngo bavyemere."},{"id":21,"translation":"Abo ni bo rero, bihombeje ku kurementaniriza Imana Allah. Emwee! N’ibigirwamana babesha ko bizobavugira ku Mana Allah, bizozimangana;"},{"id":22,"translation":"Ni ukuri, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ni bo bazohomba nya guhomba."},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, maze bakubahiriza n’amabwirizwa y’Imana yabo Rurema Allah, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":24,"translation":"Akarorero k’imigwi ibiri; umugwi w’abagarariji[5] n’uw’abemeramana[6]; ni nk’ak’impumyi hamwe na nyamuragi, n’ak’uwukanura hamwe n’uwumva. Mbega none iyo migwi ibiri, yoba inganya ubutore! Ubwo ntimwokwibuka ngo munyurwe!","footnotes":"[5] Umugwi utabona ukuri ngo ugukurikire, utumva uwuwurarikira ukwemera Imana Allah ngo wemere. Umugwi w’abagarariji ugereranywa n’impumyi na nyamuragi.\n[6] Umugwi utabona ivyemezo vy’Imana Allah ngo uvyemere, utumva uwurarikira ukwemera Imana Allah ngo uwukurikire. Umugwi w’abemeramana ng’aha ugereranywa n’umuntu abona n’uwumva ukuri akagukurikira."},{"id":25,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twararungitse Nuhu ku bantu biwe, araheza ababwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi umugabisha wanyu atomoye ku bihano vy’Imana Allah;"},{"id":26,"translation":"Ndababwiriza ko mutokwiyegereza mu vyo mukora vyose mu gusenga, kiretse Imana Imwe Rudende Allah, jewe mu vy’ukuri ndatinya ko mu gihe mwobangikanya Imana Allah, mwohabwa ibihano bibabaza”,"},{"id":27,"translation":"Indongozi z’abagararije mu bantu biwe, zaciye zimwishura ziti: “Twebwe tubona ko wewe uri umuntu nkatwe, ni gute hohishurirwa wewe gusa! Turavye n’abagukurikiye muri twebwe, dusanga ari ba nyarucari gusa, badashoboye kwiyumvira. Kira noneho, nta n’ico tubona mudusumbije mu matungo kuva mwinjiye mw’idini ryanyu, ahubwo mbere turemeza neza ko mubesha mu vyo mushikiriza”."},{"id":28,"translation":"Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yishuye nya ndongozi ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe nozana icemezo gitomoye kivuye ku Mana yanje Rurema Allah, cemeza ko ndi mu kuri, Ikanampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, maze Ikabahumya ntimushobore kubona nya kuri Yandungikanye, mubona twobahatira gukurikira nya kuri mu gihe muguhakana!"},{"id":29,"translation":"Bantu banje! Nta matungo ndabasaba ko mwompemba kw’irarikiramana ryanje, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Sindota rero nirukana abemeramana ndabahora ko ari ba nyarucari, kugira ngo mwemere, mu vy’ukuri bazohura n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ariko rero jewe mbona ko muri inshirasoni mukaba n’abahanuzi babi;"},{"id":30,"translation":"Bantu banje! Ni nde yontabara ku bihano, mu gihe Imana Allah Yompanira ukwirukana abemeramana? Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ikibafitiye akamaro kurusha ibindi!"},{"id":31,"translation":"Jewe sindigera ndababwira na rimwe ko ngaba ibigega vy’Imana Allah, sindanababwira ko nzi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko ndi umumalayika; vyongeye sinorota mbwira abo musuzugura mu bemeramana, ko Imana Allah Itazobahembera ivyiza bakora; burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ibiri mu mishaha yabo; ndamutse rero ndabikoze ukwo, muri ico gihe noba ndi mu barenganya”."},{"id":32,"translation":"Abantu ba Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bamubwiye bati: “Ewe Nuhu! Ni ukuri, uramaze kutubwira ivyemezo vyawe akatari gake, uranaduhaririza kenshi, enda nyabuna rero, zana ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri!”."},{"id":33,"translation":"Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabishuye ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah niyabishaka, Izobaha ibihano, kandi mwebwe ntimuzoyinanira;"},{"id":34,"translation":"Eka n’ukwita kwanje ku rutare ndabahanura nshaka ko mwemera, nta co kuzobamarira mu gihe Imana Allah Yoshaka kubahubisha ngo Iheze Ibahane, ni Yo Mana yanyu Rurema, impera n'imperuka rero, ni no kuri Yo muzosubizwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo mwakoze kw’isi”."},{"id":35,"translation":"Ahubwo rero ababangikanyamana mu bantu ba Nuhu, bavuga ko Nuhu yarementanije ivyo ababwira. Nuhu! Bishure ubabwire uti: “Ninaba nararementanirije Imana Allah ivyo ndababwira, ivyaha vy’iryo rementanya biri ku gatwe kanje, kandi jewe nditandukanije n’ivyaha mukora”."},{"id":36,"translation":"Ibihano rero bigomba bishike, Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yahishuriwe n’Imana Allah, Imubwira Iti: “Nta wurota akwemera mu bantu bawe kiretse uwamaze kukwemera imbere y’aha, ntugatuntuzwe rero n’ivyo bakora;"},{"id":37,"translation":"Nyaragasa rero ubaze ubwato ku mugaragaro aho Twebwe Allah Tubona[7] kw’itegeko ryacu kuko ukingiwe, kandi ntunsabe ko notenyenya guhana abirenganije, kuko mu vy’ukuri bazotwarwa n’isegenya”.","footnotes":"[7] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ifise amaso mu buryo bujanye n’icubahiro cayo."},{"id":38,"translation":"Ni ho Nuhu rero yatangura kubaza nya bwato, uko indongozi z’abagarariji mu bantu biwe zirenganye aho abazira, zaravunanira urugohe ku gasuzuguro n'akantu, Nuhu agaca azibwira ati: “Nimwaba muvunanira urugohe ku kudusuzugura uno musi, nimwatwarwa n’isegenya na twe tuzobasuzugura nk’ukwo mudusuzugura;"},{"id":39,"translation":"Ico gihe c’isegenya rero, muzoheza mumenye uwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza ng’aha kw’isi, akazohabwa n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”."},{"id":40,"translation":"Igihe rero itegeko ryo kubahonya ryagera, haboneka imbizi izananye mw’ifuru, Twabwiye Nuhu Duti: “Shira mu bwato igitsina-gabo n’igitsina-gore kuri buri bwoko bwose bw’ibiremwa, hamwe n’umuryango wawe kiretse uwamaze kwagirwa n’ibihano muri bo[8], wongere ushiremwo abakwemeye mu bantu bawe. Emwee! Nta n’uwamwemeye mu kiringo cose yabanye na bo kiretse abantu imparurwa”.","footnotes":"[8] Umuhungu wiwe hamwe n’umugore wiwe."},{"id":41,"translation":"Ni ho rero Nuhu yabwira abamwemeye ati: “Nimwurire ubwato, kw’izina ry’Imana Allah buraheza bugende mu mazi, ni no kw’izina ryayo buhagarara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":42,"translation":"Nya bwato butanguye kureremba mu mazi, imikuba na yo ingana umusozi igakubita irya n’ino, Nuhu yahavuye ahamagara umuhungu wiwe aho yari yigungiye ku gatumba, arasemerera ati: “Mwananje! Urira tujane mu bwato, ntuhave usigarana n’abagarariji ngo utwarwe n’isegenya!”."},{"id":43,"translation":"Umuhungu wiwe yamwishuye ati: “Ndahungira ku musozi, maze unkingire sintwarwe”. Nuhu amusubiza ati: “Uno musi nta gikingira umuntu n’umwe igihano c’isengenya, kiretse uwugirirwa impuhwe n’Imana Allah, enda nyabuna mwananje, niwemere uheze wurire ubwato”. Aho ni ho rero umukuba ungana umusozi wahitana nya muhungu, aca aba mu basomeshejwe nturi, bari aho."},{"id":44,"translation":"Inyuma y’ihanishwa ry’isegenya, isi yategetswe n’Imana Allah, iti: “Wa si we! Kamya amazi yawe. Na we wa juru we! Tara imvura yawe ihite”. Ni ho amazi yabona kugabanuka, isi irumuka, gutyo itegeko ry’Imana Allah ryo guhana abantu ba Nuhu, riba rishizwe mu ngiro. Bwa bwato bushoka buhagarara ku nkengera z’umusozi Al-Juudiy, akayagwa karayagwa bati: “Haragahona abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”."},{"id":45,"translation":"Ni ho Nuhu yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wari Wansezeraniye ko Urokora umuryango wanje ntuhitanwe n’isegenya, umuhungwanje na we akaba ari mu muryango wanje, kandi mu vy’ukuri isezerano ryawe ni iry’ukuri, ni na Wewe Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa gusumba abacamanza bose”."},{"id":46,"translation":"Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ewe Nuhu! Umuhungwawe burya ntari mu muryango wawe Nagusezeraniye kuzorokora, kubera ko yaranzwe n’ibikorwa vy’igarariza ryiwe. Kubera ivyo rero, ndakwihanije kunsaba ivyo udafitiye ubumenyi, mu vy’ukuri Jewe Allah Ndaguhanura kugira ntube mu bantu b’inshirasoni batazi ivyo basaba”."},{"id":47,"translation":"Nuhu yahavuye rero atakambira Imana Allah, avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ndakwikinzeko unkingire kugusaba ivyo ntafitiye ubumenyi; nutambabarira rero ivyaha, Ukangirira impuhwe, ni ukuri nzoba mu bahomvye ubuzima bwabo”."},{"id":48,"translation":"Ni ho Imana Allah Yabwira Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iti: “Ururuka ubwato mw’ituze, mw'iteka n’itekane bivuye kuri Twebwe Allah, uheze ubeho mu migisha y’ingabirano Twaguhundagajeko, wewe n’imigwi y’amoko y’ibiremwa izokomoka ku biremwa muri kumwe. Hari n’iyindi migwi y’intumva mu biremwa, Tuzoha kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo, hanyuma Tuyihe ibihano bibabaza ku musi w’izuka”."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira. Yaba wewe kibure abantu bawe, nta wigeze azimenya imbere yuko Tuzikubwira. Kubera ivyo rero, ihanganire ihakana n’ibangamira ry’abantu bawe; nk’uko n’Intumwa zo hambere yawe zihanganye. Mu vy’ukuri, iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana."},{"id":50,"translation":"Twararungikiye na Bene Aadi mwenewabo Huudi, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, burya mwebwe nta co muri kiretse ko murementanya mu gusenga ikitari Imana Allah;"},{"id":51,"translation":"Bantu banje! Nta ndishi ndabasaba kw’irarikiramana ryanje ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana yanje Yandemye Allah. Mbega ntimugira ubwenge ngo mushobore gutandukanya ukuri n’ikinyoma!;"},{"id":52,"translation":"Bantu banje! Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwigaye kuri Yo ivyaha vyanyu. Nimwicisha bugufi rero ku Mana Allah, Izoca Ibamanurira imvura y’urutavanako murime mwimbure, Yongere Ibongerereze inkomezi ku nkomezi musanganwe mu kurondoka; ntimuzogenze umugongo mu kuba abanyavyaha”."},{"id":53,"translation":"Abantu biwe bamwishuye bati: “Ewe Huudi! Nta cemezo uratwereka kigaragaza ukuri ku vyo uturarikira, kandi rero na twe ntiturota duheba gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ryawe, eka ntitunarota tukwemera;"},{"id":54,"translation":"Nta co tworonka tukubwira, kiretse ko imana zacu zaguhuganiye ugakeherwa n’ubwenge”. Huudi araheza abishura ati: “Jewe mu vy’ukuri, Icabona canje ku vyo mvuga, ni Imana Allah, na mwe nyene ndabagize ivyabona ko nitandukanije n’ivyo muyibangikanya”;"},{"id":55,"translation":"Muyibangikanya n’ibigirwamana bikaba biciye kubiri n’icubahiro cayo. Kubera ivyo rero, nimukoreshe urwenge mwese hamwe n’ibigirwamana vyanyu mu kunkorera ikibi, hanyuma ntimundindirize na gato mutaranyirahira;"},{"id":56,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe nishimikije Imana Allah kandi ndayizeye, nta conshikira Itakirekuye, ni Yo Mana yanje Ikongera Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi kiretse ko ari Yo Rugaba waco. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyeninzira igororotse[9]”.","footnotes":"[9] Ishira mu ngiro ibitunganye, Ikabwiriza ibitunganye, Igashinga amateka atunganye. Ihembera umugwaneza ubugwaneza bwiwe, Ikanahanira n’umunyavyaha ivyaha vyiwe."},{"id":57,"translation":"Nimwagenza umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, ni ukuri ahanje naramaze kubashikiriza ubutumwa narungikanwe n’Imana Allah. Nimutemera rero mugasenga Imana Imwe Rudende Allah, Imana yanje Rurema Allah Izobahonya, Iheze Ibasubirize abandi bantu bayigamburukira, eka nta n’ico muzoyitwara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":58,"translation":"Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Aadi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Huudi n’abemeramana bari kumwe, Tubakiza ibihano bikaze vyashikiye Bene Aadi."},{"id":59,"translation":"Ng’abo rero Bene Aadi mwumva bahakanye Aayah z’Imana yabo Rurema Allah bagabitaniriza n’Intumwa zayo, baraheza bumvira amabwirizwa y’umuntu wese atwaza igikenye, yishima, w’intumva;"},{"id":60,"translation":"Bakurikijwe n’imivumo y’Imana Allah kuri iyi si. Ku musi w’izuka naho, bazoshavurirwa n’Imana Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Aadi baragararije Imana yabo Rurema Allah, bahakana bivuye inyuma n’Intumwa zayo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Aadi barungikiwe Huudi."},{"id":61,"translation":"Twaranarungikiye Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, araheza arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni Yo Yabaremye mw’ivu mu kurema so wanyu Adamu, Iraheza Ibaha ububasha bwo gutunganya no guteza imbere isi. Kubera ivyo rero, nimuyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah Iri hafi y’umusenzi, Yumvira uwuyisavye."},{"id":62,"translation":"Bene Thamuudi bavuze bati: “Ewe Swalehe! Ni ukuri, wahora uri umuntu w’umwizigirwa n'umwubahwa, imbere yuko uturarikira gusenga Imana Imwe Rudende. Ubu rero, karashize ingani, wubahuke kutubuza gusenga imana zasengwa n’abavyeyi bacu! Ni ukuri, turafise amakenga menshi ku vyo uturarikira ko twosenga”."},{"id":63,"translation":"Swalehe yabishuye avuga ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, ni nde muri mwebwe yontabara akankurako ibihano vyayo, mu gihe noreka gushikiriza ubutumwa! Ni igiki mwonyongerereza atari agahombo k’ubuhuvyi;"},{"id":64,"translation":"Bantu banje! Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri. Nimuyireke rero irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi, kuko mwohava mushikirwa n’ibihano vyimirije ku bigaba”."},{"id":65,"translation":"Ni ho rero bahakana bivuye inyuma, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga. Swalehe aca ababwira ati: “Nimuryoherwe mwidagadure mu zanyu mu kiringo c’imisi itatu itarenga, inyuma y’aho nimwitege ibihano bigiye gushika, iryo ni isezerano ry’Imana Allah ntabanduka, ritabeshuzwa”."},{"id":66,"translation":"Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Thamuudi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Swalehe n’abemeramana bari kumwe, Twaranabateturuye kuri uyo musi w’ibihano. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":67,"translation":"Bene Thamuudi birenganije, bahitanwe n'igihano c'akaruru kaziba amatwi gaturutse hejuru, bazinduka bose bahonye, ari ibiziga vyibereye ng'aho mu ngo zabo;"},{"id":68,"translation":"Nk’aho batigeze babaho. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Thamuudi baragararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Thamuudi bimonogoje mu butumva!"},{"id":69,"translation":"Ni ukuri, intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika, zaraje kwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), zimuzaniye inkuru nziza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Is-haka, azoheza akamuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Izo ntumwa zigishika, zaramuramukije ziti: “Nimugire amahoro”. Na we arazishura ati: “Nimusangwe amahoro”. Ibrahimu ntiyatevye, aca azizimana inyama yokeje y’inyana y’inka inuze."},{"id":70,"translation":"Ibrahimu amaze kubona ko zitihereza inzimano yazihaye, ntivyamunezereye namba ku mutima, maze bimutera ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba mu kumuhumuriza zamubwiye ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi”."},{"id":71,"translation":"Aho, umukenyezi wiwe Sarah yari ahagaze haruguru, yaciye atwenga atangazwa n’ivyo yumvise, ni ho rero Twamuha inkuru nziza yashikirijwe n’abo bamalayika ko azokwibaruka umwana azokwitwa Is-haka, hanyuma Is-haka na we akazovyara umwana w’umwuzukuru azokwitwa Yakubu."},{"id":72,"translation":"Sarah yaratangaye aca avuga ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, umugabo wanje na we akaba amaze gusaza! Mu vy’ukuri, ico coba ari ikintu gitangaje koko”."},{"id":73,"translation":"Nya ntumwa z’abamalayika ziraheza zimwishura ziti: “Utangazwa n’ivyagezwe n’Imana Allah kuri mwebwe! Bantu b’inzu y’ubutumwa! Murakagira impuhwe n’imigisha vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenugushimwa muri vyose, Nyeniteka”."},{"id":74,"translation":"Ibrahimu amaze guturura, agashikirizwa inkuru nziza yo kwibaruka Is-haka, uyu na we akazomuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu, yabandanije kuganiriza abo bamalayika ku bijanye n’ibihano baje guha abantu ba Luutwi."},{"id":75,"translation":"Mu vy’ukuri, Ibrahimu yarangwa n’ubwitonzi nta ngere[10], yari n’umutakamvyi ku Mana Allah, yigaya muri vyose akagaruka kuri Yo.","footnotes":"[10] Adakunda kwihutira guhana."},{"id":76,"translation":"Izo ntumwa z’abamalayika zahavuye zibwira Ibrahimu ziti: “Ewe Ibrahimu! Geza aho kutuganiriza urondera ko twotenyenya ku bijanye n’ibihano tugiye guha abantu ba Luutwi, mu vy’ukuri ihanwa ryabo, ryamaze kugera nta gisivya, ntirisubizwa inyuma”."},{"id":77,"translation":"Igihe intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika zashika kwa Luutwi, Luutwi yaragize impungenge ku muzo wazo, aca avuga akizibona[11] ati: “Ni umusi w’igeragezwa ritoroshe pe!”.","footnotes":"[11] Ataramenya ko ari abamalayika, ku gutinya ko hagira abantu baza kubipfuza."},{"id":78,"translation":"Ni ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje[12] ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.","footnotes":"[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yise abagore abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka sewabo."},{"id":79,"translation":"Bamwishuye bati: \"Luutwi! Ni ukuri urazi neza ko tutipfuza abakobwa bawe, kandi mu vy’ukuri urazi neza na neza ico dushaka, ko ari ihuzabitsina n'abagabo nkatwe\"."},{"id":80,"translation":"Ni ho rero Luutwi yababwira ati: “Ese iyo ngira inguvu zikwiye zo kubatesha, canke nkagira ingabo zintabara, narikubabuza ku nguvu”."},{"id":81,"translation":"Izo ntumwa z’abamalayika zaciye zimenyekanisha kwa Luutwi, ziti: “Ewe Luutwi! Mu vy’ukuri, twebwe turi intumwa z’abamalayika zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, twaje kugira duhonye abantu bawe, humura rero ntibashobora namba kwegera n’aho uri. Enda nyabuna rero, muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahirahira ngo ahindukire arabe inyuma, ariko rero umugore wawe aza guhanwa mu bandi. Isango ry’ihonywa ryabo rero, ni mu bucagucagu, burya ubucabucagu buri hafi gushika”."},{"id":82,"translation":"Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana abantu ba Luutwi ryagera, Twabubitseko isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako;"},{"id":83,"translation":"Ayo mabuye yariko ibimenyetso biturutse ku Mana yawe Rurema Allah, bituma adasa n’amabuye yo kw’isi; kandi icucagira ry’amabuye Twahanishije abantu ba Luutwi, ntiriri kure ko ryoshikira abagarariji b’Abakorayishi birenganije[13].","footnotes":"[13] Iyi Aayah irihaniza intumva z’ibigaba izereka ko zishobora guhanwa."},{"id":84,"translation":"Twaranarungikiye abantu bo muri Madiyana mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, kandi ntimukagabanye ingero n’iminzani mu gupimira abantu, mu vy’ukuri mbona mworohewe mu buzima, kandi ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’umusi ubakikuje;"},{"id":85,"translation":"Bantu banje! Nimukwize neza ivyo mupima ku ngero no ku munzani, kandi ntimukarenganye abantu mu kubambura utwabo mu buryo ubwo ari bwo bwose, ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi;"},{"id":86,"translation":"Inyungu muronka mu gihe mukwije ingero n’iminzani, ni yo irimwo imigisha n’ineza kuri mwebwe biturutse ku Mana Allah. Nimwaba mwemera koko Imana Allah, nimwubahirize rero iryo bwirizwa, si nanje njejwe kumenya no kubungabunga ivyo mukora\"."},{"id":87,"translation":"Abantu ba Shu’ayibu barinamuye bamwishura bati: “Ewe Shu’ayibu! Mbega amasengesho yawe, ni yo agutegeka kutubuza ko dusenga ivyo ba data basenga! Canke ko tureka kurondera inyungu y’amatungo yacu uko dushaka! Yoo! Ni ukuri, wewe urateye ikigongwe! Aho rero, ni wewe uri inararibonye izi ikoreshwa ribereye ry’amatungo!”."},{"id":88,"translation":"Shu’ayibu yavuze ati: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimumbwire uko vyogenda, mu gihe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ibimbeshaho bikwiye, biryoshe kandi birekuwe! Sinshaka rero ko noca kubiri na mwe nkakora ivyo ndababuza; nta n’ico ndondera mu kubararikira kwubahiriza utwa murundi, kiretse kubatunganiriza uko nshoboye kwose; eka nta n’ico nshoboye gushikako kiretse ico nshobojwe n’Imana Allah, ni Yo gusa nishimikije nkizera, ni na Yo gusa ngarukako nkigaya;"},{"id":89,"translation":"Bantu banje narungitsweko! Urwanko ruturutse ku kuba tudahuje gusa ukwemera, ntirutume mubandanya kuba intumva, kuko vyotuma muhanwa nk’uko hahanwe abantu ba Nuhu, canke abantu ba Huudi, canke abantu ba Swalehe. Kira noneho n’ihanwa ry’abantu ba Luutwi ntiryabereye kure y’aho mucumbitse!;"},{"id":90,"translation":"Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenimbabazi ku batoni bayo, Nyenurukundo-ntangere ku bigaya”."},{"id":91,"translation":"Bamwishuye bati: “Ewe Shu’ayibu! Ntidutahura vyinshi mu vyo utubwira, kandi twebwe mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri umuntu usanzwe cane muri twebwe; iyo rero hataba kwubaha umuryango wawe dufise ico dupfana, twokwicishije amabuye, kanatsinda wewe nta cubahiro canke agateka tuguha namba”."},{"id":92,"translation":"Shu’ayibu yabishuye ati: “Emwe bantu banje narungitsweko! Karashize ingani, mwubahe mwubahirize umuryango wanje kurusha Imana Allah, maze muterere amabwirizwa yayo inyuma y’umugongo, ntimube mukiyiyumvira! Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, mu bumenyi bwayo, ni Muhetuzi w’ivyo mukora vyose;"},{"id":93,"translation":"Emwe bantu banje! Nimugire ivyo mugomba uko mubigomba, nanje mu vy’ukuri nshishikara nkora ivyo nategetswe n’Imana Allah, vuba bw'ango muzomenya neza uwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza, kandi muzomenya umubeshi n’uwutari we hagati yacu. Nimurindire rero ingingo y’Imana Allah ku bigaba canke ku bagororotsi, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”."},{"id":94,"translation":"Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana abantu ba Shu’ayibu ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu Shu’ayibu n’abemeramana bari kumwe, abirenganije na bo bahitanwe n'igihano c'akaruru kaziba amatwi gaturutse hejuru, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho;"},{"id":95,"translation":"Wamengo ni nk’aho batigeze babaho. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona abantu bo muri Madiyana nk’uko hahonye Bene Thamuudi, na kare bose barimonogoje mu butumva!"},{"id":96,"translation":"Ni ukuri, Twaranarungikanye Musa ivyemezo vya Aayah zacu hamwe n’ikindi cemezo kigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende;"},{"id":97,"translation":"Twamurungitse kwa Firawuni n'abunganizi biwe, maze Firawuni aragarariza ategeka n’abantu biwe ko bagarariza, maze baramwumvira bagarariza Musa. Kira noneho! Itegeko rya Firawuni ntiryari ribereye namba, eka nta n’uburongozi namba bwarimwo."},{"id":98,"translation":"Firawuni rero azoja imbere ashoreranye n’abantu biwe ku musi w’izuka gushika abinjize mu muriro. Ni bubi cane ubwinjiriro buzobashikana mu muriro;"},{"id":99,"translation":"Bakurikijwe imivumo y’Imana Allah kuri iyi si inyuma yo gusomeshwa nturi, ku musi w’izuka na ho nyene bazovumwa binjizwe no mu muriro udahera. Urwo rutavanako rw’imivumo n’ibihano rero, ni rubi cane."},{"id":100,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero ni inkuru zo muri kahise Tuguciriyeko agace, zerekeye uducimbiri Twahanye Tugahonya. Muri nya ducimbiri rero, harimwo utugifise ibisigarira biranga kahise katwo, hari n’utwahonejwe ata n’igisigarira kihabazwa."},{"id":101,"translation":"Ntitwigeze Tubarenganya namba kuri iryo honya, ariko ni bo birenganije kw’ibangikanyamana ryabo no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, imana zabo rero basenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co zabamariye ngo zibatabare igihe isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubahonya ryagera, eka nta n’ico zabongerereje kiretse agahombo no guhanwa."},{"id":102,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yahanye uducimbiri tw’abagararije - Ihana abandi baba mu tundi ducimbiri iyo bimonogoje mw’igarariza ry’Imana Allah n’Intumwa zayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha."},{"id":103,"translation":"Mu vy’ukuri, mw’ihanwa ry’utwo ducimbiri, ni ukuri harimwo inkebuzo kuri uwo wese atinya ibihano vy’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, umusi hegeranijwe abantu kugira baharurirwe, maze bahemberwe ivyo bakoze, ni n'umusi ibiremwa vyose bizokwibonera."},{"id":104,"translation":"Burya ntitubarindirije umusi w’izuka atari ukugira ngo umwe wese aheze ikiringo yategekanirijwe kuba kw’isi, nticunguruzwa kandi ntigisubizwa inyuma."},{"id":105,"translation":"Igihe rero umusi w’izuka wageze, nta kiremwa na kimwe kizogira ico kivuze kiretse ku burenganzira gihawe n’Imana Allah; burya mu biremwa, harimwo abagotse bategerezwa guhanwa, hakabamwo n’intore zitegerezwa gushimirwa;"},{"id":106,"translation":"Abagotse rero kw’isi, umuriro ni bwo buhaniro bwabo, bazohezagurika cane bari muri wo bitewe n'ibihano bikaze;"},{"id":107,"translation":"Bazowubamwo ibihe bidahera mu gihe cose hazoba hakiri ijuru n’isi[14], kiretse igihe Imana yawe Rurema Allah Yashatse gutezurira ibigaba mu bemeramana, Igaheza Ikabakura muri wo. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Ikora ivyo Ishaka.","footnotes":"[14] Amajuru n'isi bivugwa ng'aha, ni amajuru n'isi vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, aho aya majuru n'isi vyo mu buzima bwo kw'isi, bizosubirizwa ayandi majuru n'isi. Imana Allah Ivuga Iti: \"Umusi isi izosubirizwa iyindi si yera nk’umwakaka, n’amajuru agasubirizwa ayandi majuru, maze ibiremwa vyose bigasokoroka mu kuzimu bidora, bikarenguka imbere y’Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere\" (Igisomwa Ibrahimu: 48)."},{"id":108,"translation":"Nayo intore mu biremwa, zizokwinjira mu Bwami bw’ijuru, zizobubamwo ibihe bidahera mu gihe cose hazoba hakiri ijuru n’isi, kiretse abo Imana yawe Rurema Allah Izoshaka gucereza mu bigaba vy’abemeramana, bakabanza guca mu muriro. Imana Allah Izoheza rero Ibahe mu Bwami bw’ijuru impano y’ivyiza vyamaho."},{"id":109,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko amasengesho y’ababangikanyamana mu bantu warungitsweko, ari impfagusa; ntibasenga mu bigirwamana kiretse nk’ivyo ba se basenga aho hambere yabo, na Twe Allah mu vy’ukuri, Tuzobaha ibihano Twabasezeraniye ata kigabanijweko na kimwe."},{"id":110,"translation":"Ni ukuri, Musa Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati, maze abantu yarungitsweko barahazana ku birimwo; bamwe muri bo baravyemera, abandi na bo barabihakana. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kutihutira guhana ibiremwa, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abagarariji mu bayahudi n’ababangikanyamana mu bo warungitsweko, ni ukuri barafise amakenga kuri iyi Qor’ani."},{"id":111,"translation":"Umugwi uwo ari wo wose w’abahazana, nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah Izowuhembera ivyo wakoze ku musi w’izuka. Burya, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi; ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera."},{"id":112,"translation":"Muvugishwamana! Shishikara rero kuba umugororotsi nk’uko wabitegetswe n’Imana Allah, wewe hamwe n’abigaye muri kumwe; kandi ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora vyose, ni Nyenukubona."},{"id":113,"translation":"Ntimugahengamire ku ruhande rw’abirenganije mu kugarariza ngo muhave mukorwako n’umuriro, nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka nta n’uwobatabara akabakingira guhanwa."},{"id":114,"translation":"Muvugishwamana! Tsimbataza kandi n’isengesho rikwije ibisabwa mu gitondo no ku mugoroba, no mu gihe c’ijoro. Mu vy’ukuri, ukugira ivyiza guhanagura ibicumuro, ivyo rero ni inkebuzo ku bibuka bagategera;"},{"id":115,"translation":"Kandi wihangane mu kwama usenga, wihanganire n’ibangamira ry’ababangikanyamana, kuko Imana Allah ntiyigera Itakaza indishi z’abagwaneza."},{"id":116,"translation":"Ese iyo haboneka mu migwi y’ababayeho aho hambere yanyu, abantu b’abagororotsi baguma babuza abandi kugarariza no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi! Muri bo rero, ntihigeze haboneka kiretse abantu bake mu bemeramana Twarokoye mu bihano. Abirenganije muri nya migwi, bishinze kuryoherwa gusa n’ibihendamaso vy’isi, bari n’abanyavyaha bakwiye guhanwa koko[15].","footnotes":"[15] Iyi Aayah irakebura ibigaba mu bislamu bidahesha mu kwirenganya."},{"id":117,"translation":"Nta ho vyakabaye ko Imana yawe Rurema Allah Ihana Igahonya agacimbiri ako ari ko kose, mu gihe abakabamwo ari abantu b’intungane, bitwararika no gutunganiriza abandi."},{"id":118,"translation":"Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose baba umugwi umwe, ukurikira idini rimwe ry’ubwislamu. Abantu rero ntibazoreka kwicamwo imigwi;"},{"id":119,"translation":"Kiretse abazogirirwa impuhwe n’Imana yawe Rurema Allah, bakagira amahirwe yo kuyemera. Ni muri iyo ntumbero rero, Imana Allah Yabaremye mu butandukane bwabo, maze umwe wese agahitamwo kimwe: inzira y’ubugororotsi canke iy’ubugaba. Kubera ivyo rero, isezerano ry’ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah rizotungana nk’uko Yasezeraniye ibiremwa Iti: “Ni ukuri, nta nkeka ko Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu ibigaba bizokurikira Ibilisi mu majini no mu bantu”."},{"id":120,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero ni inkuru zerekeye Intumwa zarungitswe aho hambere yawe Tuguciriyeko agace, Tukwiganira ibitsimbataza umushaha wawe ku gushikiriza ukuri ata guhigimanga. Muri iki gisomwa rero, warashikiriwe n’itomora ry’ukuri warungikanwe, inkebuzo ku bagarariji, n’urwibutso ku bemeramana."},{"id":121,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira rero abatemera Imana Imwe Rudende Allah uti: “Nimukore ivyo mukora vyose uko muvyipfuza mu kubangamira Intumwa n’abemeramana, na twe nyene dukora ivyo dukora vyose twubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah;"},{"id":122,"translation":"Muheze murindire kubona iherezo ryacu, mu vy’ukuri na twe ni nk’ukwo nyene turarindiriye kubona iherezo ryanyu”."},{"id":123,"translation":"Ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, ni ubw’Imana Allah, impera n'imperuka vyose bizosubizwa kuri Yo ku musi w’izuka. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shishikara kuyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenge utayibangikanya, wongere uyishimikize muri vyose, uyizere. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza na kimwe mu vyo mukora, kandi Izobibahembera."}]},{"id":12,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco.","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure mubone kwubahiriza ibirimwo."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tugucira agace ku vyabaye Tukabiguhishurira muri Qor’ani, nta n’ico wari ubiziko imbere yuko Tuguhishurira Tukabikwiganira."},{"id":4,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko ijambo Yusufu yabwiye se ati: “Da! Ni ukuri, narose mbona inyenyeri cumi n’imwe, izuba hamwe n’ukwezi, narose mbona vyose binyubamira[2]”.","footnotes":"[2] Iyi ndoto, yabura inkuru nziza ku cubahiro n’iteka ridasanzwe Yusufu yahawe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":5,"translation":"Se yamwishuye ati: “Mwananje Yusufu! Iyi ndoto warose, ntuhirahire ngo uyiganire barumunawe kuko bohava bagusharika, maze bagakoresha urwenge mu kukurwanya, mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu;"},{"id":6,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yakweretse iyo ndoto - Igutora Ikakwigisha kurotorera abantu indoto babona, Igaheza Ikagukwiriza inema yo guhabwa ubutumwa, wewe hamwe n’uruvyaro rwa Yakubu; nk’uko Yakwirije iyo nema yo guhabwa ubutumwa ba so, ari bo Ibrahimu na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora\"."},{"id":7,"translation":"Ni ukuri, mu vyashikiye Yusufu na barumunawe, harimwo ivyemezo vyereka ababaza ku nkuru zabo, ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah;"},{"id":8,"translation":"Igihe benewabo kuri se bavugana hagati yabo bati: “Ni ukuri, Yusufu na murumunawe[3] barakundwa cane na data kuturusha kandi ari twebwe turi benshi. Mu vy’ukuri, data agira ikosa rigaragara;","footnotes":"[3] Mwenewabo bavukana kuri se na nyina."},{"id":9,"translation":"Kubera ivyo rero, enda nyabuna, nimwice Yusufu, canke mumute mu gahinga ka nyaganande, maze musigare mwihagiye urukundo rwa so wanyu. Mu nyuma y’aho rero, muzoheza mwigaye kuri ico caha, mube aberanda”."},{"id":10,"translation":"Umwe muri bo yavuze ati: “Ntimuhirahire ngo mwice Yusufu, mwopfuma mumuta mu kinogo kirekire, akazotorwa na bamwe mu barengana nimwaba mushaka koko kumwikiza”."},{"id":11,"translation":"Bamaze gupfundika uwo mugambi mubi, benewabo bavuze babwira se bati: “Da! Mbega ni kuki utatwizera kuri Yusufu, kandi twebwe mu vy’ukuri tumwumvira impuhwe, tukanamuhanura!;"},{"id":12,"translation":"Ejo aho bukera, uramureka tujane kuragira, aryoherwe yongere akine, twebwe mu vy’ukuri tuzomucungera, nta kibi kizomushikira nk’uko uvyibaza!”."},{"id":13,"translation":"Yakubu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, notuntuzwa ku mutima n’uko mumujanye kuragira, ndanatinya ko imbwebwe yomurya mu gihe mwosamara!”."},{"id":14,"translation":"Ni ho rero bamubwira bati: “Mu gihe yoribwa n’imbwebwe kandi na twe turi benshi dushoboye kumukingira, ni ukuri nta co twoba tumaze”;"},{"id":15,"translation":"Yakubu yahavuye amurekura baraheza barajana. Ni ho rero bagenda bamujanye, baca bumvikana ko bamuterera mu kinogo kirekire. Twaranahishuriye Yusufu rero Duti: “Ni ukuri, umusi umwe uzobabwira ivyo bagukoreye, igihe bazoba batakivyibuka”."},{"id":16,"translation":"Bumaze kugoroba, ni ho baza kwa se biyuha iryosozi;"},{"id":17,"translation":"Bati: “Da! Mu vy’ukuri, twagiye gusiganwa turasa n’imyampi, maze dusiga Yusufu aho twashize ibikoresho vyacu, mu kanya isase imbwebwe ica iramurya, kandi wewe ntushobora kutwemera mu vyo tuvuga n’aho twoba turi imvugakuri”."},{"id":18,"translation":"Baje bafise ikanzu yiwe, iriko n’amaraso y’ikinyoma, kuko nya kanzu ata ho yari yigeze inatabuka. Yakubu yabishuye ati: “Ihibambewe! Si nk’uko mubivuga, ahubwo umutima-nama wanyu wabaryohereje gukorera ikibi Yusufu. Kubera ivyo rero, mbandanya nihangana kuko ata we ndiko ndaganyira mu biremwa ku vyabaye, nifashishije Imana Allah mu kwihanganira ivyo muvuze”."},{"id":19,"translation":"Hahavuye rero haza abantu barengana, maze barungika umuntu umwe muri bo ngo aje kuvoma. Nya muntu araheza aterera indobo mu kinogo kirekire c’iriba, Yusufu aca arayifata arayenenako, wa muntu agize ngo aramubona, aca avuga n’akanyamuneza n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano!”. Inkuru y’itorwa rya Yusufu, abari kumwe n’uwo muntu ku rugendo bayigize nk’akamizwe n’ingoma, bati: “Uyu ni ikidandazwa twibangikanije!”. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo bakora kuri Yusufu."},{"id":20,"translation":"Benewabo rero, bamaze kubona ko Yusufu akuwe muri nya kinogo, baraheza baramugurisha ku barengana bamutoye, maze agurwa ku giciro giciriritse c’amadirhamu make, ivyo vyose bakabigira kugira ngo abaveko ku kutamenya icubahiro ciwe ku Mana Allah."},{"id":21,"translation":"Bamaze kumushikana muri Misiri, yaguzwe n’umushikirangoma wa Misiri, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Mwakire neza umurere, hari n’aho yogira ico atumariye, canke tukamugira umwana wacu”. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twarokoye Yusufu, Tukamushira mu muryango w’umutware wa Misiri akamwitaho - Twahavuye Dutsimbataza Yusufu ku ntwaro muri Misiri Tumugira umunyabigega, Tunamwigisha kurotora indoto kugira ashobore gutegekanya kazoza keza. Burya Imana Allah, ni Yo Iganza muri vyose, ariko abenshi mu bantu nta vyo bazi."},{"id":22,"translation":"Yusufu rero amaze kugera mu bigero, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Twahemvye Yusufu, Duhemba abagwaneza[4].","footnotes":"[4] Iyi Aayah iraremesha Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagwaneza bose."},{"id":23,"translation":"Umugore w’umushikirangoma yarahamagaye Yusufu mu bwitonzi nta ngere amwinginga, maze arahanjagira imiryango, aca amubwira ati: “Ingo ndakwihaye!”; Yusufu na we amwishura ati: “Ndikinze ku Mana Allah, Inkingire gukora ivyo wipfuza, ni ukuri umutware wanje yanteye iteka ryo kuba ng’aha, sinomuhemukira, burya abirenganya mu gukora ivyo batarekuriwe, ntibaroranirwa mu buzima”;"},{"id":24,"translation":"Ni ukuri, nya mugore yari yamwihaye koko, Yusufu na we nyene agatima karakubise, maze aca ahakurwa n’inkebuzo y’Imana yiwe Rurema Allah imutururuza. Ni ukwo rero Twamweretse iyo nkebuzo, kugira Twamirire kure ikibi n’ingeso mbi mu buzima bwiwe bwose, mu vy’ukuri Yusufu ari mu baja bacu bejejwe, bakora ivyo bakora ku bwacu."},{"id":25,"translation":"Ni ho rero Yusufu yatanguranwa na nya mugore ku muryango kugira asohoke, wa mugore agize ngo aramukwega, ikanzu yiwe ica itabuka mu mugongo, wa mugore aho nyene aca atubiranira n’umugabo wiwe ku muryango, aca aramwitanga arinamura n’ishavu n’akantu ati: “Umuntu ashaka kukurengera ibigo, akwiye ikihe gihano, atari ukuja mw’ibohero, canke agahabwa igihano kibabaza!”."},{"id":26,"translation":"Yusufu araheza ariregura ati: “Nyabuna, ni we yanyinginze, aranyipfuza”. Ni ho rero hatura umwana akiri uruyoya yari arerewe mu muryango wa nya mugore, maze abera icabona Yusufu, avuga ati: “Nimurabe ikanzu ya Yusufu, niyaba yatabutse ku gikiriza, uyo mugore azoba yavuze ukuri ku vyo yagiriza Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu babeshi;"},{"id":27,"translation":"Hamwe naho ikanzu ya Yusufu yoba yatabutse mu mugongo, uyo mugore azoba yabesheye Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu mvugakuri”."},{"id":28,"translation":"Umugabo wa wa mugore, amaze kubona ko ikanzu ya Yusufu yatabutse mu mugongo, yaciye amenya ko Yusufu ata kimwagira, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Icabaye, ni uko washatse kumutega umutego, mu vy’ukuri mwebwe abagore imitego yanyu irahambaye”."},{"id":29,"translation":"Yaciye ahindukira abwira Yusufu ati: “Yusu! Irengagize ivyabaye umbikire akabanga, ntihagire n’umwe uzovyiganira”. Aca agaruka kuri nya mugore amuhanura ati: “Saba ikigongwe ku caha cawe, mu vy’ukuri uri mu bantu bakosheje mu kwambika ibara Yusufu”."},{"id":30,"translation":"Iyo nkuru y’ukwambikwa ibara Yusufu yarakwiragiye hose, maze abagore bo mu gisagara bavuga banebagura nya mugore bati: “Umugore w’umutware wa Misiri koko, akipfuza umuyabaga wiwe! Emwee! Yari yamaze kurengerwa n’urukundo pe! Ni ukuri, twebwe tubona ko uyo mugore yakosheje ikosa rigaragara”."},{"id":31,"translation":"Umugore w’umutware wa Misiri, amaze kwumva ukuntu ariko yandagazwa n’abagore bo mu gisagara, yahavuye abatumira iwe, abakirira ahari ubwugamo bubereye, abategurira n’imfungurwa, araheza aha imbugita umwe wese muri bo ngo bamufashe guhwata ivyo bakinjika. Ni ho rero yabwira Yusufu ati: “Sohoka”. Ba bagore bagize ngo bakubise ijisho Yusufu, bose baguye mu gahundwe ku kuntu yasa n’irirenga, batangura kwikomeretsa ku maboko batumva, baca bavuga batangara bati: “Emwegayee! Ubwiza burama! Ese ubwiza yahawe n’Imana Allah! Eka uyu muntu ntakomoka mu bwoko bw’abantu! Uyu muntu ku bwiza afise, ntashobora kuba kiretse ko ari intore y’umumalayika!”."},{"id":32,"translation":"Wa mugore w’umutware wa Misiri, amaze kubona ibishikiye ba bagore yatumira, yababwiye yiyeza ati: “Ivyo bibashikiye inyuma y’aho muboneye ubwiza bwa Yusufu, ni vyo nanje vyanshikiye, muntako imiragwe muranyandagaza. Ni ukuri, naragerageje kumwiha ndanamwinginga, ariko yaranyankiye. Hamwe n’ivyo rero, sindashirwa, ni ukuri natankorera ivyo ndamwipfuzako, ategerezwa gushirwa mw’ibohero, kandi ni ukuri azoba mu bantu basuzuguritse”."},{"id":33,"translation":"Yusufu amaze kubona ko umugore w’umutware wa Misiri adahesha, yaratakamvye ati: “Mana yanje Rurema Allah! Notuma nshirwa mw’ibohero ha gukora ivyo banyipfuzako. Nutanshira kure y’imitego yabo, agatima karashobora gukubita nkaba mu bantu b’inshirasoni”."},{"id":34,"translation":"Imana Rurema Allah Yashotse Yumvira Yusufu, Imukurako imitego yabo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n'ibiremwa n’ivyo bizirikana."},{"id":35,"translation":"Mu nyuma y’aho abatware ba Misiri baboneye ivyemezo vy’uko Yusufu ata na kimwe kimwagira, bafashe ingingo yuko ashirwa mw’ibohero ikiringo kanaka, ku kwanka gukoza ibara umuryango w’umushikirangoma wa Misiri;"},{"id":36,"translation":"Yusufu rero yahavuye ashirwa mw’ibohero ari kumwe n’iyindi misore ibiri. Umwe muri nya misore avuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona ndiko ndagana inzoga y’imizabibu”. Uwundi na we ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona nikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate”. Ya misore imaze kwigana, yaciye ibwira Yusufu iti: “Turotorere rero indoto zacu! Mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri mu bagwaneza”."},{"id":37,"translation":"Ni ho Yusufu yishura nya misore ati: “Nta kibabeshaho muzoronka, kiretse ko nshobora kubabwira ico ari co imbere yuko kibashikira. Ukurotora rero kuri mu vyo nigishijwe n’Imana yanje Rurema Allah, jewe mu vy’ukuri nemera Imana Imwe Rudende Allah, naravavanuye n’idini ry’abatayemera, bakanahakana bivuye inyuma izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":38,"translation":"Nakurikiye idini ry’abavyeyi banje: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu. Nta ho vyakabaye ko tubangikanya Imana Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa. Ukwo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni mu ngabirano zayo kuri twebwe no ku bantu bose, ariko abenshi mu bantu ntibashima inema yo gushobozwa gusenga Imana Imwe Rudende Allah;"},{"id":39,"translation":"Bagenzanje dupfunganwe! Mbega burya gusenga imana zitandukanye zaremwe, ni vyo vyiza gusumba gusenga Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere!"},{"id":40,"translation":"Ntimwiyegereza mu vyo mukora vyose mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah, kiretse amazina y’ibintu mwafashe mukayita imana, mwebwe hamwe na ba so. Imana Allah ntiyigeze Imanura icemezo c’uko mwobisenga; nta ngingo y’ukuri yokwubahwa kiretse ingingo y’Imana Allah, Yategetse ko mutosenga izindi mana atari Yo Yonyene gusa mukwiye gusenga mutayibangikanya. Iryo rero, ni ryo dini rigororotse, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ukwo kuri;"},{"id":41,"translation":"Bagenzanje dupfunganwe! Reka rero ndabarotorere indoto zanyu. Uwarose abona ariko aragana inzoga y’imizabibu, uyo azoteba ave mw’ibohero, aje kuba umusuku ku mwami. Nayo uwarose abona yikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate, uyo azohava yicwa abambwe, maze inyoni zimurye ku mutwe. Insiguro y’ishirwa mu ngiro ku vyo mwambajije rero, ni iyo”."},{"id":42,"translation":"Yusufu yaciye abwira uwo yarotoreye muri bo ko azorusimba ati: “Niwaramuka ugiye ku kirimba, urabwira sobuja ko narenganijwe”. Shetani yaribagije wa musore kuvugira Yusufu, Yusufu araheza amara imyaka itari mike mw’ibohero."},{"id":43,"translation":"Haciye imyaka, umwami yavuze ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona inka indwi zinuze, ziriko ziraribwa n’izindi nka indwi zinamvye. Mbona n’amashami indwi atotahaye hamwe n’ayandi mashami indwi yumaganye. Bunganizi banje! Nimundotorere iyi ndoto nimwaba muzi koko kurotora!”."},{"id":44,"translation":"Bamwishuye bati: “Indoto yawe, ni nko kurazirana, nta nsiguro ifise, kandi burya twebwe ntituzi cane kurotora indoto”."},{"id":45,"translation":"Wa muntu yarusimba, ni ho yibuka inyuma y’imyaka itari mike ivyo basezeranye na Yusufu, aca avuga ati: “Jewe ndashobora kubarotorera iyi ndoto, nimundungike kwa Yusufu mw’ibohero”."},{"id":46,"translation":"Agezeyo, ni ho yavuga ati: “Yusufu, ewe mvugakuri! Turotorere indoto y’umuntu yarose abona inka indwi zinuze, ziriko ziraribwa n’izindi nka indwi zinamvye; abona n’amashami indwi atotahaye, hamwe n’ayandi mashami indwi yumaganye. Ngira ngo mpava nsubira ku mwami n’abunganizi biwe ndabashiriye insiguro itomoye kuri iyi ndoto, kugira bamenye ubutore n’icubahiro vyawe”."},{"id":47,"translation":"Yusufu yarayimurotoreye ati: “Muzorima imyaka indwi ikurikirana musarura umwimbu ushemeye. Ivyo muzosarura ku mwaka ku mwaka rero, murabiziganiriza kazoza, muheze muvyanikire mubigumize mu bishishwa vyavyo, kiretse bike mushobora gufungura;"},{"id":48,"translation":"Mu nyuma rero, hazokurikira imyaka indwi y’amapfa, ico gihe muzokwikora ku mwimbu mwabitse muri ya myaka indwi ya mbere, kiretse imbuto nke muzobikira iteragira ry’agatasi;"},{"id":49,"translation":"Inyuma y’iyo myaka y’amapfa rero, hazokurikira umwaka abantu bazoronswa imvura, basubire barime bimbura, baronke n’umusesekara w’ivyamwa, bavyengemwo umutobe”."},{"id":50,"translation":"Umwami amaze kwumva insiguro y’indoto yiwe, yavuze ati: “Nimunzanire uyo muntu yashoboye kundotorera indoto”. Intumwa yarungitswe gukura Yusufu mw’ibohero ngo imuzane, Yusufu yayibwiye ati: “Subira ku mutware wawe, uheze umusabe ko abaza ukuri ku vyerekeye abagore bikomerekeje ku maboko, gutyo ukuri kumenyekane nanje nambikwe izera; mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza imitego yabo banteze”."},{"id":51,"translation":"Umwami yahavuye arengutsa nya bagore, ababaza ati: “Mwashaka gushika kuki, igihe mwipfuza Yusufu, hari ingeso mbi mwari mumuziko?”. Ba bagore bishuye bati: “Ihibambewe! Nta ngeso mbi twigeze tumumenyako”. Ni ho rero wa mugore w’umushikirangoma yatura ati: “Ubu ukuri kwamaze kugaragara nta co ncera, ni jewe namwipfuje ndanamwinginga aranyankira pe! Kandi ni ukuri Yusufu, ivyo yavuze vyose ari mu mvugakuri;"},{"id":52,"translation":"Iri jambo, ndarivuze nemanga ivyabaye, kugira ngo umugabo wanje amenye ko ntigeze ndamuhemukira mu kumubesha ko Yusufu ari we yanyipfuje, kira noneho ntiyankundiye ko ndamwiha; yongere amenye kandi ko Imana Allah Idashoboza abahemu gushika ku co bipfuza;"},{"id":53,"translation":"Sindiko ndiyeza, mu vy’ukuri umushaha w’umuntu, wama umwosha kenshi na kenshi gukora ikibi, ukamuryohereza kugikora, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah Ikamukingira. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":54,"translation":"Umwami wa Misiri amaze kuronka inkuru y’imvaho, yaciye avuga ati: “Nimunzanire Yusufu ndamwiyegereze, abe mu bahanuzi banje”. Yusufu amaze kuza, umwami akamwiganira ko yarenganuwe kuko ari umwizigirwa, arangwa n’ingeso nziza, yaciye amubwira ati: “Wewe rero guhera uno musi, uri umunyacubahiro ku kirimba, uri n’umwizigirwa muri vyose”."},{"id":55,"translation":"Yusufu araheza abwira umwami ati: “Ngena rero kuba umunyabigega ajejwe guhagararira umwimbu w’igihugu ca Misiri, jewe mu vy’ukuri, ndi umwizigirwa kuri vyose, ndashoboye gucungera neza umwimbu, ndafise n’ubumenyi bukwiye ku vyerekeye itunganya ry’ubutunzi”."},{"id":56,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah - Twakuye Yusufu mw’ibohero - Twamutsimbataje ku butegetsi agashika aho hose ashatse mu gihugu ca Misiri. Burya rero, Duhereza impuhwe zacu uwo Dushatse mu biremwa vyicisha bugufi bikagamburukira Imana Allah, eka ntitunatakaza na kimwe mu ndishi z’abagwaneza;"},{"id":57,"translation":"Kandi ni ukuri, impembo yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo nziza gusumba iyo mu buzima bwo kw’isi ku bemeramana batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":58,"translation":"Haciye imyaka itari mike rero, ni ho benewabo na Yusufu bashengera muri Misiri bomowe n’amapfa yabateye, maze binjira kwa Yusufu, na we aca arabamenya ariko bobo ntibamumenya bivanye n’igihe kitari gito cari giheze;"},{"id":59,"translation":"Yaciye ategeka ko babakira, bakabazimana. Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, bakaba bari bamwiganiye ko bafise mwenewabo kuri se[5] batashoboye kuzanana, yaciye ababwira ati: “Nimwaramuka mugarutse rero, murazanana na mwenewanyu kuri so, ntimwabonye ko nabatekereye nkabagerera neza, n’uko nabakiriye nkanabazimana neza?","footnotes":"[5] Ni uwo bavukana kwa se, akaba ari we mutoya wa Yusufu basangiye se na nyina, yitwa Biniyamini."},{"id":60,"translation":"Nimutazanana n’uyo mwenewanyu kuri so rero, nta co nzobagerera ngo ndanabatekerere, eka ntimuzonatumbere aho ndi”."},{"id":61,"translation":"Bishuye bati: “Tuzogerageza kwinginga se wiwe turabe ko yomuturungikana, kandi ni ukuri tuzobikora”."},{"id":62,"translation":"Yusufu yari yabwiye abakozi biwe ko mu gutekera, boshira mu mfungurwa babatekereye ikiguzi cazo, kugira ngo nibashika iwabo bakabona nya kiguzi, kizotume bagaruka."},{"id":63,"translation":"Bamaze gushika kwa se wabo, baramwiganiye ido n’ido uko vyabagendeye, baraheza bamubwira bati: “Dawe wacu! Ariko rero, umutware ngo ntazosubira kudutekerera nitwaramuka dusubiyeyo tutajanye na murumuna wacu Biniyamini. Kubera ivyo rero, uramuturungikana, gutyo batugerere imfungurwa zikwiye, hanyuma na twe mu vy’ukuri, turiyemeje kuzomucungera”."},{"id":64,"translation":"Se wabo abishura ati: “Nobizera gute ko mwocungera Biniyamini, mu gihe nigeze kubizera kuri mwenewabo Yusufu mukanyemeza ko muzomucungera, hanyuma ntimwabikora! Mwebwe rero sindabizeye namba, ariko ndizeye Imana Allah ko Imucungera kuko ni Yo Mwiza w’ababungabunzi, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyampuhwe bose”."},{"id":65,"translation":"Bamaze gutekurura ivyo babatekereye, basanze basubijwe n’ikiguzi c’ivyo batekerewe, baca bavuga n’akamwemwe kenshi bati: “Dawe wacu! Hari ikindi dushaka coza kiruta iki! Ehe ng’iki n’ikiguzi c’ivyo badutekereye bakidusubije! Enda nyabuna muturungikane rero, tuje gusumira umuryango ibikwiye, hanyuma ducungere na murumuna wacu, gutyo na we nyene azogaruke afise igitwazi cikoreye imfungurwa ciyongereyeko, kuko nta wugererwa ibirenze igitwazi kimwe. Kumugerera na we ni bito cane ku mwami”."},{"id":66,"translation":"Se wabo Yakubu araheza ababwira ati: “Sindota ndamubarungikana tudahanye amasezerano, mukandahira kw’izina ry’Imana Allah ko muzomungarukanira amarembe, hamwe mutoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko”. Bamaze rero kumurahirira kw’izina ry’Imana Allah ko bazomucungera, Yakubu yaciye avuga ati: “Imana Allah rero ni Yo Muhagarikizi wacu ku vyo dusezeranye”."},{"id":67,"translation":"Hageze ko basubira muri Misiri rero, se wabo yabatekereye impanuro avuga ati: “Bane banje! Nimwaramuka mugeze muri Misiri, ntimuzokwinjire muciye mu muryango umwe, ahubwo murinjirira mu miryango itandukanye kugira mwikingire ijisho ribi. Hamwe n’uko ndabahaye izo mpanuro, nta cobuza ko mudashikirwa n’ivyagezwe vy’Imana Allah, kandi nta co mpinduramwo ngo ngire ico ndabamariye. Burya, nta ngingo ija mu ngiro ku biremwa, kiretse ko iva ku Mana Allah, ni Yo nishimikije kandi nizeye, abizera rero nibayishimikize bayizere”."},{"id":68,"translation":"Igihe bagera muri Misiri, binjiye baciye mu miryango itandukanye nk’uko se wabo yari yabategetse. N’aho ivyo vyose ata co vyari kubamarira ngo bihindure ivyagezwe n’Imana Allah kuri bo, ariko kubabwira ivyo vyose, vyatumye ikiri ku mutima wa Yakubu cururuka. Mu vy’ukuri, Yakubu yari afise ubumenyi buhambaye ku vyo Twebwe Allah Twamwigishije mw’idini ryiwe, ariko abenshi mu bantu ntibazi iherezo ry’ivyo bakora."},{"id":69,"translation":"Bamaze kwinjira rero mu kirimba kwa Yusufu bari kumwe na murumunawe Biniyamini, Yusufu yamuguye mu nda aramuhobera, araheza aramwongorera ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mukurwawe, ntiwicwe n’intuntu na gato ku vyo benewacu bigeze kungirira”."},{"id":70,"translation":"Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, yategetse abakozi biwe ko bashira mu mfungurwa bagereye murumunawe Biniyamini, igipimo bageresha, maze bakabigira mw’ibanga nta ngere ata n’umwe abizi. Bagize ngo barahagurutse bagende, umuraritsi yaciye asemerera ati: “Emwe bantu muri ku bitwazi! Mu vy’ukuri, hari ibintu mwivye, muri ibisuma koko!”."},{"id":71,"translation":"Baca batumbera umuraritsi bati: “Mbega mwabuze igiki!?”."},{"id":72,"translation":"Nya muraritsi n’abo bari kumwe bati: “Tubuze igipimo umwami ageresha, kandi ikibonamaso c’uwukizana, ni imfungurwa zotwarwa n’igitwazi”. Umuraritsi aca yongerako ati: “Ni nanje mbere niyemeje kumushikiriza nya kibonamaso”."},{"id":73,"translation":"Benewabo na Yusufu bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ni ukuri na mwe murazi ko tutazanwe n’ubwononyi mu gihugu ca Misiri, eka ntituri n’abasuma mu buzima bwacu!”."},{"id":74,"translation":"Abajejwe gusaka, ni ho bavuga bati: “Hamwe mwoba muriko murabesha mu kurahira ko mutivye, mubona yoba akwiye igihano nyabaki hamwe twosanga umusuma ari muri mwebwe!?”."},{"id":75,"translation":"Benewabo na Yusufu bishuye bati: “Igihano c’uwivye, ni uko afashwe aca agirwa umuja w’uwibwe, ni nk’ico gihano nyene iwacu duha uwirenganije mu kwiba”."},{"id":76,"translation":"Ni ho rero babasubiza kwa Yusufu, araheza atangura gusaka ubwiwe ivyo bafise, ahera kuri benewabo kuri se imbere yuko asaka murumunawe. Hanyuma ni ho yatandukira gusaka murumunawe, aca asanga nya gipimo co kugeresha kiri mu mfungurwa ziri ku gitwazi ca murumunawe. Ni uko rero Twebwe Allah, Tworohereje Yusufu kugumana na murumunawe, ntiyari gushobora gusigarana na we ku kirimba c’umwami wa Misiri, kiretse ku bushake bw’Imana Allah mu kwisunga ingingo yuko uwivye, ahanishwa igihano gisanzwe kiri mw’idini rya benewabo. Twebwe Allah, Tuduza icubahiro kw’isi uwo Dushatse mu biremwa. Burya rero, hejuru y’uwo wese afise ubumenyi, haba hari uwundi abumusumvya."},{"id":77,"translation":"Baciye bavuga n’agashinyaguro n’akantu bati: “Niyibe na kera mukuru wiwe[6] yarigeze kwiba”. Yusufu ariyumya ku vyo yumvise maze ararimira ntiyiserura, kuko yari azi ko bavuze ikinyoma cambaye ubusa, maze aca yibwira ku mutima ati: “Mwebwe ni mwe bantu babi aho muri hose, burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ikinyoma mu vyo mwigana”.","footnotes":"[6] Bashaka kuvuga Yusufu ko yigeze kwiba, kandi bitigeze biba."},{"id":78,"translation":"Baraheza bamubwira bamwinginga bati: “Ewe mutware! Mu vy’ukuri, uyo yivye afise se ashaje cane, amukunda cane, ntiyoba kure yiwe, pfuma ufata umwe muri twebwe mu kibanza ciwe, ni ukuri turabona ko wewe uri mu bagwaneza koko!”."},{"id":79,"translation":"Yusufu yabishuye ati: “Imana Allah Ikinge, ntibikabe ko dufata ngo dusigarane kiretse uwo twafatanye itonga; mu vy’ukuri, mu gihe twofata uwundi mu kibanza ciwe, ni ukuri twoba turi mu barenganya”."},{"id":80,"translation":"Bamaze kwihebura ko Biniyamini atakirekuwe, bahavuye biherera batangura guhanurana ku cokorwa, maze umukuru muri bo avuga ati: “Mbega ntimuzi ko so yabarahije kw’izina ry’Imana Allah, ko mutegerezwa kugarukana murumuna wanyu, kiretse mu gihe mwoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko; n’imbere y’aho mukaba mutitwararitse Yusufu, mukamuhemukira. Jewe rero, sindota mva ku butaka bwa Misiri, kiretse mu gihe data yobindekurira, canke Imana Allah Ikandekurira kuva ng’aha, Ikanshoboza kuronka murumunanje, ni na Yo Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa;"},{"id":81,"translation":"Nimusubire inyuma mwebwe muje kwa so, nimwashikayo mumwiganire uko vyatugendeye, muheze mumubwire muti: “Dawe wacu! Ni ukuri, umwana wawe Biniyamini yivye, kandi ntitumwagiriza kiretse ivyo twiboneye n’amaso, eka nta n’ubumenyi bw’uko yari kwiba twari dufise imbere yo kugusezeranira kumugarukana;"},{"id":82,"translation":"Da! Niwashaka baza Abanyamisiri, ubaze n’abo twari kumwe, twazananye ku rugendo, mu vy’ukuri tukubwije ukuri”."},{"id":83,"translation":"Yakubu yabishuye ati: “Hari ikintu kibi imitima yanyu yaboheje gukora. Kubera ivyo rero, ndihanganye, sindi bwihebure ngo ncike intege, canke ngo nidoge, hari n’aho Imana Allah Yobanzanira bose uko ari batatu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”."},{"id":84,"translation":"Ni ho rero Yakubu yabirengagiza akavuga n’intuntu n’akantu ati: “Ese umubabaro mfise kuri Yusufu!”. Amaso yiwe yahavuye yeruruka ku kubera intimba n’intuntu, ariko rero yari umuntu yifata akigumya."},{"id":85,"translation":"Nya bana biwe bamubwiye bati: “Kw’izina ry’Imana Allah, ubwo uracakomeza kwibuka Yusufu n’imyaka yose ihaciye, gushika n’aho wenda guhwera canke ugahwera koko!”."},{"id":86,"translation":"Yakubu yabishuye ati: “Nta n’umwe ndi buganyire ngo ndegere umubabaro n’intuntu mfise ku mutima atari Imana Allah, ni na Yo Izonkura mu kaga ndimwo, burya ndazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko ivyo mutazi;"},{"id":87,"translation":"Ehe bane banje! Nimusubire muri Misiri, maze mugendereze inkuru ku vyerekeye Yusufu na murumuna wiwe, kandi ntimwihebure ku mpuhwe z’Imana Allah, burya nta wihebura ku mpuhwe z’Imana Allah, kiretse abantu b’abagarariji, batemera ubushobozi n'ububasha vyayo”."},{"id":88,"translation":"Bahavuye rero basubira muri Misiri, bagize ngo barinjiye kwa Yusufu, bamubwiye bati: “Ewe mutware! Twaratewe n’inzara, twebwe n’umuryango wacu wose, ni ko kuza twibangikanije iki kiguzi gidashemeye, turasavye rero ko mwotugerera ibikwiye nk’uko mwahora mubigenza ku kiguzi nk’ico nyene, n’aho kidashemeye. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahemba abafasha abandi bakabaha imperezwa”."},{"id":89,"translation":"Yusufu amaze kwumva ivyo bavuze, yafashwe n’ikigumbagumba, aca ababwira ati: “Mbega mwoba mwibuka ivyo mwagiriye Yusufu na murumunawe igihe mutashobora gutahura iherezo ryanyu?”."},{"id":90,"translation":"Ni ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”."},{"id":91,"translation":"Bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah ko Yamaze kuguha icubahiro kiturengeye, kandi ku vyo twabagiriye, twarakosheje pe!”."},{"id":92,"translation":"Yusufu ni ho yabishura ati: “Kuri uno musi, nta kabi kuri mwebwe, Imana Allah Ibababarire ivyaha vyanyu, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyempuhwe bose”."},{"id":93,"translation":"Ni ho rero bamwiganira ko se yamaze guhuma biturutse ku ntimba amufitiye, aca ababwira ati: “Nimugende mujanye iyi kanzu yanje; nimwagerayo, muce muyiterera mu maso ya data, azoca asubira kubona ukuri kwamye, hanyuma muzoce mugaruka muzananye n’umuryango wose”."},{"id":94,"translation":"Bagize ngo baratanguye urugendo bava muri Misiri bagana muri Shaamu, bafise nya kanzu, se wabo Yakubu yaciye abwira abari kumwe na we ati: “Ni ukuri, ndumva akamoto ka Yusufu n’aho mwoshaka mugatebura ku vyo mvuze, mwibaza ko ndi umukehabwenge”."},{"id":95,"translation":"Abari ng’aho, bamwishuye bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wewe mu vy’ukuri, ukirembejwe n’intimba y’urukundo rwa Yusufu, bigatuma uguma umubona!”."},{"id":96,"translation":"Uwari azaniye Yakubu inkuru y’ihumure ko Yusufu akiriho, amaze guterera nya kanzu mu maso yiwe, Yakubu yaciye asubira kubona ukuri kwamye, ni ho yaca abwira abari ng’aho n’akamwemwe nta ngere ati: “Sinari nababwiye ko jewe mu vy’ukuri, nzi ivyo mutazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko!”."},{"id":97,"translation":"Ba bana ba Yakubu baciye bavuga bati: “Ewe dawe wacu! Dusabire rero ku Mana Allah ikigongwe, Itubabarire ivyaha vyacu; mu vy’ukuri, ku vyo twagiriye Yusufu na murumunawe, twarakosheje pe”."},{"id":98,"translation":"Yakubu yabishuye ati: “Handi hato, mpava ndabasabira Imana yanje Rurema Allah Ibagirire ikigongwe, burya ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":99,"translation":"Yakubu n’umuryango wiwe wose rero, bahavuye baja muri Misiri. Bamaze gushikayo bakinjira mu kirimba kwa Yusufu, Yusufu yahobereye abavyeyi biwe bompi, maze aca ababwira ati: “Kaze murisanze muri Misiri ku bushake bw’Imana Allah! Muragakira umuruho n’amapfa, nimutekane!”."},{"id":100,"translation":"Ni ho yahava yakirana iteka abavyeyi biwe mu kubicarika hambavu yiwe ku ntebe y’inganji, baraheza baramuramutsa indamutso y’icubahiro, benawabo bose baramwubamira[7] uko ari icumi n’umwe. Ni ho rero Yusufu yaca abwira se ati: “Da! Iyi rero, ni yo nsiguro y’indoto nigeze kurota nkiri muto, nkayikwiganira, Imana yanje Rurema Allah Yayishize mu ngiro, ni ukuri Yaranangiriye ubuntu igihe Yankura mw’ibohero, Ikanabanzanira ng’aha Ibakuye mu misozi, inyuma y’aho shetani interanije na benewacu. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa ku vyo Ishatse, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.","footnotes":"[7] Ni ukwubama ku bw’icubahiro; mu mabwirizwa y’idini rya Yakubu, ico gihe vyari birekuwe kwubamira umuntu mu kumwubaha. Vyahavuye rero bibuzwa mu mabwirizwa y’idini ry’ubwislamu ku kwanka ko vyoba imvo y’ibangikanyamana. Mu bwislamu rero, kirazira kikaziririzwa kwubamira ikiremwa."},{"id":101,"translation":"Ni ho rero Yusufu yatumbera Imana Allah ayisaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ni ukuri, Warampaye ubwami bwa Misiri, Unyigisha no kurotora indoto, n’ubundi bumenyi. Ewe Rurema w’amajuru n’isi! Wewe ni We Muhagarikizi wanje muri vyose kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Urandengutsa rero ndi umwislamu nicisha bugufi, Uzonshire hamwe n’abaja bawe beranda”."},{"id":102,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira, si ho wari igihe benewabo na Yusufu bapfundika ko bamuta mu kinogo kirekire, babanje gutega imitego mw’irementanya ridasanzwe[8].","footnotes":"[8] Ugushikiriza ido n’ido kahise nk’uko vyagenze ku vyerekeye Intumwa z’aho hambere y’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni kimwe mu vyerekana ko Qor'ani yahishuwe koko n’Imana Allah."},{"id":103,"translation":"Abenshi mu babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ntibemera n’aho wokwitwararika kubararikira ukwemera."},{"id":104,"translation":"Nta n’indishi ubasaba kw’irarikiramana ryawe ryo kwemera Imana Imwe Rudende Allah, burya Qor’ani warungikanwe, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose kugira ngo bikebuke."},{"id":105,"translation":"Hari ivyemezo vyinshi mu majuru no mw’isi[9] vyerekana ko Imana ari Imwe Rudende, abantu babirengako bavyirengagiza nk’uko ata vyo babona.","footnotes":"[9] Nk’akarorero k’izuba, ukwezi, imisozi, ibiti, n’ibindi."},{"id":106,"translation":"Abenshi muri bo rero, ntibemera Imana Allah ko ari Yo Yaremye, Ibeshaho ibiremwa, kiretse ko bayemera bayibangikanya n’ibigirwamana."},{"id":107,"translation":"Mbega boba bafise ikintu gituma batekanirwa ku Mana Allah, ku buryo batoshikirwa n’ibihano bihwikira bivuye ku Mana Allah; canke ko batoshikirwa giturumbuka n’umuhero w’isi, ata vyo bari biteguriye!"},{"id":108,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi, ni yo nzira yanje yo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, jewe hamwe n’abankurikiye, ndabararikira ko mwokurikira hisunzwe ivyemezo bitomoye; ukuninahazwa rero, ni ukw’Imana Allah, eka jewe sindi mu babangikanyamana pe!”."},{"id":109,"translation":"Twebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa ku bantu aho hambere yawe, kiretse ko Twazitora mu bagabo baba mu bisagara, Tugaheza Tukabahishurira amabwirizwa yacu, hari ababemera bakabakurikira, n’abandi babahakana. Mbega ntibaragendagenda kw’isi ngo barabe ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Ni ukuri, indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nziza gusumba isi n’ibihendamaso vyayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure muheze mwikebuke!"},{"id":110,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntiwihutire rero kunesha abaguhakana, burya Intumwa z’aho hambere yawe, na zo zaragararijwe gushika n’aho zihebura ko ata wuzozemera; abo zarungitsweko na bo, bibaza ko zabahenze mu kugabishwa ku bihano vy’Imana Allah, ni ho rero Twaheza Tugatabara Intumwa zacu n’abazikurikiye, Tukarokora mu bihano uwo Dushatse. Burya ibihano vyacu Twebwe Allah, ntibisubizwa inyuma hageze guhana abantu b’abanyavyaha, barenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":111,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vyo Twakwiganiye rero kuri kahise k’Intumwa zacu, harimwo inkebuzo ku bantu b’abanyabwenge. Qor’ani ntiyigeze iba amajambo y’irementanya, ariko Twayimanuye kugira ishimangire ibiri mu Bitabu vyamanuwe aho hambere yayo, inatomorere abantu ibirekuwe n’ibizira, iheze ibere uburongozi n’impuhwe abantu b’abemeramana."}]},{"id":13,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim Raa[1]. Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani zubashwe. Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani wamanuriwe ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni kwo kuri; ariko rero hamwe n’ivyo, abenshi mu bantu ntibayemera ngo bayigendere.","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yahanitse amajuru indwi ku bushobozi n'ububasha vyayo ata nkingi mubona ziyareruye; hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, Iraheza Irema izuba n’ukwezi, kimwe cose kizungurukira mu nzira ntasobwa yaco; ivyo Ikaba Yabigize ukwo, ku neza y’ibiremwa gushika ku musi w’iherezo. Imana Allah Itunganya ibijanye n’ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, Ikabatomorera Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ko ari Yo Yaremye, kugira mwemere mwizere ko muzohura n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyisenge mutayibangikanya."},{"id":3,"translation":"Ni na Yo Yaguye umubumbe w’isi kugira mushobore kuwubako, Iwuremako n’imisozi iwushigikiye nk’imambo, n’inzuzi mwikorako. No mu vyamwa vy’ubwoko bwose Yaremye amoko abirabiri; ivyera n’ivyirabura, ibisosa n’ibikata, Ituma n’ijoro rihwikira umurango bukijima. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira, bakikebuka."},{"id":4,"translation":"Mw’isi rero, burya harimwo uduce tw’agataka twegeranye ariko dutandukanye mu kanovera katwo[2]; harimwo n’imirima itotahaye y’imizabibu, indimo z’ibindi biterwa bitandukanye, ibiti vy’itende binaga ari bibiribibiri ku ngundu imwe, n’ibinaga kimwe cose cisangije ingundu, ivyo vyose ugasanga umwimbu wavyo utandukanye kw’ibara, akanovera n’indemo, kandi vyose biri ku gataka kamwe, vyavomewe ku mazi akomoka hamwe, gutyo Tugatuma rero abantu bakunda bagahurumbira cane gufungura bimwe muri nya mwimbu kurusha ibindi. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri, harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa, bagaheza bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.","footnotes":"[2] Ugasanga hari isi y’akanovera yimbuka, hambavu yayo hari iyindi si y’ubusize itimbuka namba."},{"id":5,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwabona uriko utangazwa n’ukutemera kw’abantu kw’ibi vyemezo, ahubwo mu mvugo zabo hari ikizogutangaza kuruta, bazovuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, binamure bati: “Mbega mu gihe tworamuka dupfuye tugacika ivu, ubwo ni ukuri tuzozuka!”. Abo, ni bo rero bagararije koko Imana yabo Rurema Allah, ni na bo bazoboheshwa iminyororo mw’izosi ku musi w’izuka, ni na bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, imbere yuko bemera bagakora ivyiza vyotuma badahanwa; kandi mu vy’ukuri, aho hambere yabo, hari abahakanyi bamaze guhanwa, ubwo ntibokwikebuka! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni Nyenukubabarira ivyaha ku bantu bigaya ku vyaha bakoze; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe."},{"id":7,"translation":"Abagarariji b’i Makka bavuga ku kagagazo n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe uri Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah. Burya rero, umugwi wose w’abantu wararungikiwe Intumwa iwurongora mu nzira y’Imana Allah."},{"id":8,"translation":"Imana Allah Irazi neza icibungenzwe kikiri mu nda; ko kizoba ari igitsina-gabo canke igitsina-gore; ko kizoba ari ikigaba canke umugororotsi. Irazi neza n’ibitereko bizokorora imbanyi, ibizoyivyara itageze canke irengeje amezi icenda. Ikintu ico ari co cose rero, ku Mana Allah caragezwe."},{"id":9,"translation":"Ni Yo Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka, Nyenubukuru muri vyose, Nyenukwiganza kuri vyose."},{"id":10,"translation":"Ni co kimwe rero kuri Yo, uwugize ico avuga muri mwebwe mw’ibanga canke ku mugaragaro, n’uwugize ico akora yikinze agahumbezi k’ijoro canke ku murango izuba riva, Imana Allah Irabimenya."},{"id":11,"translation":"Imana Allah Irafise abamalayika bakurakuranwa mu gucungera umuntu imbere n’inyuma yiwe, bamubungabunze kw’itegeko ry’Imana Allah, bandika ivyo akora vyose: vyaba ivyiza canke ibibi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntiyaka abantu inema Yabahaye atari uko babanje guhinduka bo nyene, bakarenga ku mabwirizwa yayo. Iyo rero Imana Allah Ishatse igerageza ry’umugwi w’abantu, nta kirihagarika, eka nta n’umwe boronka yobahagarikira, akanabatunganiriza ivyabo atari Yo;"},{"id":12,"translation":"Ni Yo Ibereka mu vyemezo vyayo umuravyo, gutyo mugatinya ko mwokubitwa n’inkuba, mukanipfuza ko imvura yogwa; ni no ku bushobozi bwayo rero, Irema ibicu bibitse imvura ku neza yanyu."},{"id":13,"translation":"Burya rero, imituragaro iraninahaza Imana Allah kw’ishimagizwa ryayo, abamalayika na bo bakayeza bayitagatifuza mu kuyitinya, maze Imana Allah Ikarungika inkuba, abo Ishatse mu biremwa bagakubitwa na nya nkuba bagahwera, abagarariji na bo bakabandanya guharira ko hari Imana Imwe Rudende Allah Ishoboye kuzura ibiremwa, kandi ari Yo Nyeninguvu Nyenubushobozi mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":14,"translation":"Ni Yo gusa rero, Ikwiye igisabo c’ukuri gishingiye ku kwemera ko ata mana y’ukuri ikwiye gusengwa atari Imana Allah; ibigirwamana basaba mu gishingo cayo, ntibishoboye kubishura ku kintu na kimwe. Ababisaba bameze nk’umuntu yishwe n’inyota, atega amashi amazi kandi ari kure yayo, agerageza kunywesha umunwa kandi adashoboye kuyashikira; isaba ry’abagarariji rikorerwa ibigirwamana, riri kure cane y’ukwakirwa."},{"id":15,"translation":"Ibiremwa biri mu majuru no mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; abemeramana muri vyo, bayubamira ku bugamburutsi nta ngere no ku bushake; abagarariji na bo bicisha bugufi kuri Yo vyanka bikunda, kuko kuri bo ukwicisha bugufi kwategerezwa kuba ndemanwa n'aho mu buzima bwabo barangwa n’ubugarariji. Ivyo biremwa vyose rero, vyidegemvya igitondo n’umugoroba ku bushobozi n'ububasha vyayo."},{"id":16,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Imana Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi!”. Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi wavyo”. Babwire ubagondoze uti: “Bishoboka gute rero ko mureka gusenga Imana Allah, maze mukagira mu gishingo cayo ibigirwamana musenga ata co vyimariye, ata n’ico vyiyicira, nkeswe kugira ico bibamariye, canke ico bibiciye!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega burya impumyi[3] n’uwubona[4], barangana mu butore! Canke burya umwijima w’ubugarariji, ni nk’umuco w’ukwemera! Kibure ibigirwamana babangikanya n’Imana Allah, vyoba vyararemye nk’irema ryayo, haraheza haba ukwitiranya ivyaremwe na vyo n’ivyaremwe na Yo, gushika n’aho ivyaremye nk’irema ryayo bisengwa ha kuyisenga!”. Ntumwa y’Imana! Babwire ubakurire inkoni ku gashitsi uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema w’ikintu ico ari co cose, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere”.","footnotes":"[3] Umugarariji atabona ukuri ngo agukurikire, agereranywa n’impumyi.\n[4] Umwemeramana abona ukuri akagukurikira, agereranywa n’umuntu abona."},{"id":17,"translation":"Imana Allah, ni Yo Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze nya mvura yamara kugwa, amazi agatembera mu tubande, gutyo akabande kose kakakira nya mazi ku rugero rw’uko kangana; imigende na yo igaheza igasesera ku mpande zayo inkukura ata co imaze, yahitanwe na nya mazi[5]. Imana Allah, Irongera Igatanga akandi karorero k’iyazwa ry’ubutare ku muriro kugira buhingurwemwo ibisharizo[6] canke ibindi bikoresho[7], na ho nyene ko agataka ata co kamaze gaheza kakaja ukwako. Ni nk’ukwo rero Imana Allah Itanga akarorero kw’ukuri, ukuri guca mu ziko ntigushe n’ikinyoma kitamara kabiri; ibihitanwa n’inkukura y’amazi, n’agataka gakurwa n’umuriro mu butare, biraheza bigacika impfagusa; na yo amazi n’ubutare nyabwo bifitiye abantu akamaro, biraheza bigasigara mw’isi. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Iha uburorero abantu kugira batandukanye ukuri n’ikinyoma.","footnotes":"[5] Aka ni akarorero k’ukuri gatandukanya ukuri n’ikinyoma, aho Imana Allah Igereranya ukuri n’amazi y’imvura, Ikagereranya ikinyoma n’inkukura umugende w’amazi ukumakumira ku mpande zawo.\n[6] Nk’ibihinguwe mu butare bw’inzahabu n’umwakaka.\n[7] Nk’ibihinguwe mu butare bw’umujumpu."},{"id":18,"translation":"Abemeramana bumviye Imana yabo Rurema Allah n’Intumwa yayo, bagenewe Ubwami bw’ijuru. Nayo abatayumviye bakagarariza, bagenewe umuriro. Iyo abagarariji bobaye bagaba ibiri mw’isi vyose vyigwije na kabiri, maze bakavyigomboza ku musi w’izuka, ntivyokwemewe namba. Abo, ni bo rero bagenewe iharurirwa ribi ku vyo bakoze, ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na bwo busaswa bubi cane."},{"id":19,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega burya uwuzi ko ivyo wamanuriwe n’Imana yawe Rurema ari kwo kuri akakwemera, ni nk’impumyi itabona ukuri ngo ikwemere! Mu vy’ukuri, abibuka bakikebuka, ni abanyabwenge;"},{"id":20,"translation":"Abubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyisenga ari Imwe Rudende, ntibanadohoke kw’isezerano rishimangirwa cane mu nyigisho z’intumwa zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":21,"translation":"Abunga ubucuti n’ubuvandimwe, Imana Allah Yategetse ko bwungwa[8], bagatinya Imana yabo Rurema Allah, bakanatinya iharurirwa ribi ryo kutababarirwa ivyaha;","footnotes":"[8] Nko gufasha abavandimwe n’abakenye."},{"id":22,"translation":"Abihanganira iyumviramana, bakihanganira no kudakora ivyaha barondera gushimwa n’Imana yabo Rurema Allah; bagatsimbataza n’amasengesho; bagatanga no mu vyo Twabaronkeje ishikanwa-bwirizwa hamwe n’izindi mperezwa, bakabitanga mu mpisho no ku mugaragaro; ikibi na co bakagisubiriza iciza; abo, ni bo rero bafise iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":23,"translation":"Iherezo ryabo, ni mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”. Ubwo Bwami bw’ijuru bazobwinjira babubemwo ubutakivayo, bazoba bari kumwe n’aberanda mu bavyeyi babo, abakenyezi babo no mu ruvyaro rwabo, abamalayika na bo bazokwinjira kubakeza ari urutavanako;"},{"id":24,"translation":"Bavuga bati: “Murakagira amahoro, mwasimvye akabi ku kuntu mwihanganiye iyumviramana, burya iherezo ryiza, ni Ubwami bw’ijuru”."},{"id":25,"translation":"Nayo abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyisenga ari Imwe Rudende inyuma y’aho rishimangiwe cane mu nyigisho z’intumwa zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), bagaca ubucuti n’ubuvandimwe, Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu gukwiragiza ivyaha; abo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, ni na bo bafise iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":26,"translation":"Imana Allah, ni Yo Ironsa uwo Ishatse mu biremwa umusesekara mu bimubeshaho, Ikagerera n’uwo Ishatse muri vyo. Abagararije, bobo banezerezwa no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi, burya ubuzima bwo kw’isi nta kirimwo kiretse ukuryoherwa akanya gato, ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":27,"translation":"Abagararije bavuga bati: “Muhamadi, ntiyari gutuma amanurirwa igitangaro gifadika kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah; nk'ibitangaro vyahawe Musa canke Isa mwene Mariyamu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku butumva bwiwe, Ikarongora mw’idini ryayo ry’ukuri uwugaruka kuri Yo akigaya;"},{"id":28,"translation":"Abemeye Imana Allah, maze imitima yabo igatururuzwa n’itazira n'ininahazamana. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya, imitima itururuzwa n’igamburukiramana hamwe n’itazira n'ininahazamana”."},{"id":29,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo rero, bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazogira akamwemwe k’ivyiza binezereye ijisho, bahabwe n’ubushikiro bwiza mu Bwami bw’ijuru."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Twakurungitse ku bantu inyuma yuko hamaze guca imigwi myinshi y’abantu, kugira ubasomere Qor’ani Twaguhishuriye mu gihe bakigarariza Imana Nyenimpuhwe. Ntumwa y’Imana! Babwire rero uti: “Nyenimpuhwe mugarariza, ni Yo Mana yanje Rurema Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero nishimikije nkizera, ni no kuri Yo ngaruka nkigaya”."},{"id":31,"translation":"Iyo haba Qor’ani yosomwa, maze ikagendesha imisozi ikava aho iri, canke igatuma isi isadagurika igatemba inzuzi, canke igatuma abapfuye bazuka bakavuga, yobaye ari iyi Qor’ani [9]; kandi hamwe n’ivyo vyose, ntivyotumye bayemera. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyene gushinga ingingo zose mu kwerekana ibitangaro, n’ibindi. Mbega abemeramana ntibazi ko iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose kw’isi, bemera hatarinze kuba ibitangaro! Abagararije rero, ntibazoreka gushikirwa n’ivyago bitewe n’igarariza ryabo; nko kwicwa no kugirwa imbohe, canke nya vyago bishikire ababanyi b’aho bacumbitse, gushika n’aho isezerano ry’Imana Allah ryo kuneshwa kwabo, rizoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntica kubiri n’isezerano.","footnotes":"[9] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yishura abasavye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko yobaha ibitangaro bifadika kugira bayemere, ko Qor’ani ari co gitangaro gisumba ibitangaro vyose."},{"id":32,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nibaba batebura kw'ishikirizabutumwa ryawe, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri harabaye itebura ku Ntumwa z’aho hambere yawe, maze Ndatenyenyera gato abagararije, hanyuma ndaheza ndabashikura, ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero, ukuntu Nabahanye Nkabahasha!"},{"id":33,"translation":"Burya, Uwuhagarikiye Akazigama ibikorwa vy’ikiremwa ico ari co cose, ni We Akwiye gusengwa, canke ibiremwa ata co vyishoboje, vyafashwe bikabangikanywa n’Imana Allah mu gusengwa! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nyabuna, nimumbwire amazina n’amatazirano y’ivyo bigirwamana! Canke mushaka kubwira Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu bumana kw’isi, Itigeze Imenya! Canke mubita ababangikanye n’Imana Allah kw’izina gusa, kandi batigeze babaho koko!”. Ahubwo rero bararyoherejwe na shetani ikinyoma c’ibangikanyamana ryabo, iraheza ibabuza gukurikira inzira y’Imana Allah. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo."},{"id":34,"translation":"Abagarariji barategekanirijwe ibihano mu buzima bwo kw’isi; ni ukuri, baranategekanirijwe ibihano ruhasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nta n’ikizobakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":35,"translation":"Ibiranga Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana, ni uko musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; ivyamwa vy’aho vyamaho; n’agatutu k’aho ntikigera karenga. Ihembwa ry’Ubwami bw’ijuru rero, ni ryo herezo ryiza ry’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nayo iherezo ry’abagarariji, ni mu muriro."},{"id":36,"translation":"No mu bahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara, harimwo abakwemeye baraheza baragukurikira[10], baranahimbarwa na Qor’ani wamanuriwe kuko ishimangira ukuri basanzwe bazi; no mu migwi yiyunze mu kukugarariza[11], harimwo abahakana bivuye inyuma bimwe mu vyo wamanuriwe. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni ukuri, nategetswe n’Imana Allah ko noyisenga Yo Yonyene, ntayibangikanya na kimwe; ndarikira abantu ko boyisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya, n’ubuganuko bwanje rero ni kuri Yo”.","footnotes":"[10] Nk’umuyahudi yitwa Abdullahi mwene Salam n’umunaswara yitwa Al-Najashiy, akaba yari umwami wo muri Etiyopiya.\n[11] Nka Al-Sayyid na Al’aqib, bari abapadiri b’ahitwa Najraani, na Ka’bu mwene Al-Ashraf."},{"id":37,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nk’uko Twamanuriye Ibitabu Abavugishwamana mu rurimi rwabo, Twakumanuriye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu, kugira ngo uyisunge mu gufata ingingo; niwahirahira rero ngo ukurikire ivyipfuzo vy’ababangikanyamana mu gusenga ikitari Imana Allah, inyuma y’aho umaze gushikirwa n’ukuri kuvuye ku Mana Allah, ntuzoronka umuhagarikizi agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka nta n’uwubigukingira uzoronka."},{"id":38,"translation":"Baratangazwa n’uko wabira abakenyezi kandi uri Intumwa! Ni ukuri, Twararungitse Intumwa aho hambere yawe, Tuziha ukwabira abakenyezi, Tunaziha n’uruvyaro. Baridoga ngo iyo aba ari Intumwa vy’ukuri, yari kutuzanira ibitangaro tumusaba. Nta Ntumwa n’imwe ifise ubushobozi bwo kuzana igitangaro atari ku bubasha n'ubushake vy’Imana Allah. Burya rero, isango ry’ishirwa mu ngiro ry’ikintu cose, riba ryaranditswe mu vyagezwe n’Imana Allah;"},{"id":39,"translation":"Imana Allah Iraheza Igahanagura ico Ishatse mu ngingo zayo, Ikanagumiza ivyo Ishatse gushira mu ngiro uko biri ku ntumbero nziza, ni na Yo Ifise Igitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo \"Lawhu Mahfuudh\"."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Hamwe Tworamuka Tukweretse bimwe mu bihano Twasezeraniye abagarariji, bizoba ari ibihano bahabwa bakiri kw’isi; nitwakwaka ubuzima ugapfa utarabibona naho, menya ko ico ujejwe gusa ari ugushikiriza ubutumwa, na Twe Tujejwe iharura ry’ivyo bakoze no kubibahembera."},{"id":41,"translation":"Mbega abagarariji ntibabonye ko Twebwe Allah, Dufata isi Tukagabanya inkengera zayo [12]! Burya Imana Allah, ni Yo Ishinga amateka, nta n’umwe rero ashobora guhagarika ishirwa mu ngiro ryayo, ni na Yo Inyarutsa mu guharurira ibiremwa.","footnotes":"[12] Mu kwigarurira kw’abislamu ibihugu vy’ababangikanyamana."},{"id":42,"translation":"Ab’aho hambere yabo, barateze imitego Intumwa Twabarungikiye; burya, itegura ry’imitego yose ni iry’Imana Allah, Irazi neza na neza ico umuntu uwo ari we wese akora, caba iciza canke ikibi, kandi Izokimuhembera. Abagarariji rero nibimbe bigera, bazomenya ku musi w’izuka, uwuzogira iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":43,"translation":"Abagararije bavuga babwira Umuvugishwamana Muhamadi bati: “Ntiwarungitswe n’Imana Allah”. Ntumwa y’Imana! Bishure uvuge uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona c’uko ndi Intumwa, n’uko na mwe muri abahakanyi. N’abanyemeye mu bayahudi no mu banaswara bahawe ubumenyi bw’Igitabu, hanyuma ntibabunyegeza, na bo nyene barakwiye kuba ivyabona ko ndi Intumwa y’Imana”."}]},{"id":14,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Raa[1]. Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu Twakumanuriye kugira ukure abantu mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ubashire mu muco w’uburongozi bw’ubwislamu ku burenganzira bw’Imana yabo Rurema Allah; inzira ya Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa;","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Imana Allah, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, Ibwirizwa gusengwa ari Imwe Rudende. Uguhanwa nya guhanwa mu guhabwa ibihano bikaze, ni ukw’abagarariji;"},{"id":3,"translation":"Bahitamwo ubuzima bugufi bwo kw’isi, ha guhitamwo ubuzima bwamaho bw’inyuma yo gupfa; baburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, bagashaka ko iryo dini ryisunga ivyipfuzo vyabo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri."},{"id":4,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Turungika aho hambere yawe Intumwa n’imwe, kiretse ko Twayirungika ivuga ururimi rw’abo yarungitsweko, kugira ibatomorere bikwiye amabwirizwa, gutyo Imana Allah Igahubisha uwo Ishatse ku butumva bwiwe, Ikanarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":5,"translation":"Ni ukuri, Twararungitse Musa kuri Bene Israyeli, Tumuteza intege ibitangaro vyacu bigaragaza ukuri kwiwe, Tumubwiriza duti: “Kura abantu warungitsweko mu muzimagiza w’ubuhuvyi ubashire mu muco w’uburongozi bw’ukuri, wongere ubibutse ku nema z’Imana Allah, ubagabishe no ku bihano vyayo”. Mu vy’ukuri muri ukwo kwibutsa, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku muntu wese yihanganira iyumviramana no kudakora ibibi, ashimira Imana Allah ku nema zayo[2].","footnotes":"[2] Muri iyi Aayah, Imana Allah Ishimangira canecane ku bantu barangwa n’inyifato zibiri “ukwihangana” no “gushima”, kuko ari bo ivyemezo bigirira akamaro mu buzima."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko kahise ka Musa, igihe yabwira abantu muri Bene Israyeli ati: “Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe, igihe Ibakiza amagorwa y’abantu ba Firawuni yo gucurwa bufuni na buhoro, babaha ibihano bikomeye, bakanakerera abana banyu b’abahungu, bagasigaza abakobwa banyu ku gutinya ko mu bahungu hovamwo uwuzoza gukura ubutegetsi bwiwe. Muri ivyo vyose, harimwo kugeragezwa gukomeye kuvuye ku Mana yanyu Rurema Allah;"},{"id":7,"translation":"Nimwibuke kandi, igihe Imana yanyu Rurema Allah Yabamenyesha Iti: “Nimwanshimira ku nema Nabahaye, ni ukuri Nzobongerereza umusesekara; nimwahakana inema zanje naho, muramenya ko mu vy’ukuri ibihano vyanje bikaze\"."},{"id":8,"translation":"Musa yarongeye ababwira ati: “N’aho mwogarariza Imana Allah mwebwe hamwe n’abari mw’isi bose, nta co mwoyitwara namba. Nimumenye mu vy’ukuri, ko Imana Allah ari Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose”."},{"id":9,"translation":"Bantu mwarungikiwe Intumwa Muhamadi! Mbega ntimurashikirwa n’inkuru z’abantu b’aho hambere yanyu; abantu ba Nuhu, aba Huudi n’aba Swalehe, hamwe n’abantu bo hanyuma yabo ata wodondagura igitigiri cabo kiretse Imana Allah ! Intumwa barungikiwe, zarabazaniye ivyemezo bigaragara, baraheza barabihakana bivuye inyuma, batako baremanga n’ishavu n’akantu bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turagararije, ntiturota twemera namba ivyo mwatuzaniye. Mu vy’ukuri, turafise impungenge ziturutse ku makenga y’ivyo muturarikira kwemera”;"},{"id":10,"translation":"Intumwa zabo zabishuye ziti: “Karashize ingani mugire impungenge zo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, Rurema Yaremye amajuru n’isi; Imana Allah Ibararikira ukwemera kugira Ibababarire ivyaha vyanyu vy’ibangikanyamana, kugira ngo ntibahane mukiri kw’isi, Iheze Irindirize umwe wese muri mwebwe gushika kw’isango ryiwe ntarengwa ryo gupfa!”. Nya bantu bishuye Intumwa zabo bati: “Mwebwe nta co muri kiretse ko muri abantu nkatwe, nta gituma rero mwoba Intumwa mugashaka kutubuza gusenga ivyo abavyeyi bacu basenga mu bigirwamana. Enda nyabuna rero, nimutuzanire icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo muvuga”."},{"id":11,"translation":"Nya Ntumwa zarishuye abantu bazo ziti: “Ni vyo ko twebwe ata co turi kiretse ko turi abantu nkamwe, ariko rero Imana Allah Iha ingabirano zayo uwo Ishatse mu baja bayo, Igaheza Ikamutora kuba Intumwa, nta n’ububasha dufise bwo kubazanira icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo tuvuga, atari ku burenganzira bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere;"},{"id":12,"translation":"Twobuzwa n’iki kwishimikiza Imana Allah tukayizera kandi Yaraturongoye mu nzira zidukiza ibihano, Ikadushoboza no kwubahiriza amabwirizwa y’idini ryayo! Dutegerezwa rero kwihanganira ibangamira ryanyu. Abizera nyabuna nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere\"."},{"id":13,"translation":"Abagararije, babwiye Intumwa zabo n’ishavu n’akantu bati: “Ni ukuri, dutegerezwa kubirukana tubomore mu bihugu vyacu, canke mugaruke mw’idini ryacu”. Ni ho rero nya Ntumwa zahishurirwa n'Imana yazo Rurema Allah, Izibwira Iti: “Ubu rero ubutigu burageze; ni ukuri, Dutegerezwa guhonya abirenganije mu kugarariza Imana Allah n'Intumwa zayo;"},{"id":14,"translation":"Ntumwa zanje! Inyuma y’ihonywa ryabo, ni ukuri Tuzobacumbikira mu kubakomorera - mwebwe hamwe n’ababakurikiye - ubutaka bahorako. Iryo honywa ryabo n’ikomorerwa ry’abemeramana ubutaka bahorako, nta makenga arimwo, ku muntu atinya ihagarikwa imbere yanje Jewe Allah, akaniyubara ihaniza ryanje ku bihano vyo ku musi w’izuka”."},{"id":15,"translation":"Ni ho rero Intumwa zatumbera Imana Allah ziyisaba ko Yoziha intsinzi, maze Imana Allah Irazumvira, gutyo uwo wese yigira igihangange c’intumva, arahanwa bikwiye;"},{"id":16,"translation":"Imbere y’ico gihangange c’intumva, hari n’ibihano bikirindiriye mu muriro wa Jahannamu, kizonyweshwa amashira n’amaraso biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro;"},{"id":17,"translation":"Kizogerageza kumira nya mashira n’amaraso akatari gake, bihakwa kutarengana mu muhogo kubera akanuko n’umwokero wavyo; kizohabwa n’ibihano vy’ubwoko bwose ku bihimba vy’umubiri, kugeza n’aho cipfuza gupfa ngo kiruhuke kitari bupfe; n’inyuma y’ivyo bihano vyose, kizohabwa ibindi bihano biremereye."},{"id":18,"translation":"Akarorero k’ibikorwa vy’abagararije Imana yabo Rurema Allah, ni nk’umunyota utumurwa n’umuyaga ku musi w’igihuhusi cinshi, maze nya munyota ugatumuka wose; burya nta na kimwe rero bazosigarana cobungura ku Mana Allah[3]. Ibikorwa bidashingiye ku kwemera rero, ni wo muzimagiza uri kure cane y’ukuri.","footnotes":"[3] Kuko igarariza ryabo ryabigize impfagusa birazimangana nka kurya umuyaga w’igihuhusi utumura umunyota."},{"id":19,"translation":"Mwene Adamu! Mbega ntuzi ko Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu ntumbero yo kwerekana vy’ukuri ubumana n’ubushobozi bwayo, kugira ngo isengwe ari Imwe Rudende! Bene Adamu! Imana Allah Ishatse Yobahonya mwese, Ikabasubiriza ibindi biremwa biyigamburukira;"},{"id":20,"translation":"Eka ihonywa ryanyu n’irema ry’ibindi biremwa vyobasubirira, ntivyonanira namba Imana Allah."},{"id":21,"translation":"Ibiremwa vyose bizozuka ku musi w’izuka, maze bishengere imbere y’Imana Allah kugira Ibitunganirize. Abapfuye gukurikira abandi, bazobwira indongozi zabo bakurikiye bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ni mwebwe twumvira kw’isi tukabakurikira, none kuri uno musi ntimwodukurako na kimwe mu bihano vy’Imana Allah!”. Indongozi zabo zizokwishura ziti: “Iyo Imana Allah Idushoboza kw’isi tukemera, twari kubarongora mu nzira yayo, twarahuvye rero turanabahubisha, ryaba ihababura ry’ibihano canke ukuvyihanganira, vyose ni co kimwe kuri twese kuko nta buhungiro dufise, eka nta n’isaganirizo”."},{"id":22,"translation":"Imana Allah, Imaze gutunganiriza ibiremwa ku musi w’izuka, shetani izokwiyama abayikurikiye ivuge iti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabasezeraniye isezerano ry’ukuri, ko hari izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa, hanyuma nanje ndabaha isezerano ry’ikinyoma ko ata zuka, ata n’iharurirwa ry’ibiremwa bibaho, kira noneho nta n’ubushobozi nari ndabafiseko bwo kubahatira kunkurikira, kiretse ko nabararikiye kugarariza, muraheza muranyumvira. Kubera ivyo vyose rero, ntimunteko imiragwe, ahubwo nimuyiteko mwebwe nyene, jewe nta co ndabiyambazako, eka na mwe nyene nta co munyiyambazako mu bihano vy’Imana Allah; mu vy’ukuri, ndabiyamirije ku kuntu mwabangikanije Imana Allah. Mu vy’ukuri, abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bibabaza”."},{"id":23,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazokwinjizwa mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera ku burenganzira bw’Imana yabo Rurema Allah, indamutso yabo muri nya Bwami, ni: “Gira amahoro y’Imana Allah”."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ukuntu Imana Allah Itanga akarorero k’ijambo ryiza ryo kwemera Imana Imwe Rudende Allah[4], ko ari nk’igiti c’itende gitotahaye, gishinze imizi mu kuzimu, gishamitse kija hejuru;","footnotes":"[4] “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”"},{"id":25,"translation":"Cama ivyamwa vyaco ku gihe Imana yaco Rurema Allah Yagitegekanirije[5]!. Burya Imana Allah, Iha uburorero abantu kugira bibuke, bikebuke.","footnotes":"[5] Ukwemera rero, ni nk’ico giti ciza; gutsimbataye mu mutima, kugashamika ibikorwa bitegetswe n’ingeso nziza zishimisha Imana Allah, ivyo vyose bigaheza bigahemberwa n’Imana Allah ku gihe."},{"id":26,"translation":"Nayo akarorero k’ijambo ribi ryo kugarariza Imana Allah; ni nk’igiti kibi kirura, caranduwe kuko imizi yaco idashika mu kuzimu, ntikigire n’amashami akura aja hejuru[6].","footnotes":"[6] Ukugarariza rero, ni nk’ico giti kibi; nta na kimwe kwungura umugarariji, eka nta n’ibikorwa vyiza bitegetswe akora ngo abihemberwe n’Imana Allah."},{"id":27,"translation":"Burya Imana Allah, Iratsimbataza abemeramana kw’ijambo ry’ukuri ryo kwemera no kwemanga ata guhigimanga, ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa yayo[7]; Irabatsimbataza bakarigendera mu buzima bwo kw’isi, bakanapfa baryemanga[8] no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; Imana Allah, Iranahubisha abirenganije bakayigarariza mu kutabashoboza gutumbera ukuri mu buzima bwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, Igira ivyo Ishatse mu gushoboza abemeramana kugira iherezo ryiza canke gutetereza abagarariji.","footnotes":"[7] “LAA ILAAHA ILLA LLAAH, MUHAMMADUN RASUULU LLAAH”.\n[8] No mu gihe babajijwe n’abamalayika babiri mu mva, Iraheza Ikabashoboza kwishura neza."},{"id":28,"translation":"Mbega muntu! Ntiwabonye abahakanye inema z’Imana Allah mu Bakorayishi, bahisemwo kuyigarariza ha kuyishimira kw’iteka n’itekane Yabahaye, Ikanarungika muri bo Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Nashoreye abantu babo kwicirwa ku rugamba rwa Badri, ku buhomba bwo guhona!"},{"id":29,"translation":"Umuriro wa Jahannamu bazowinjira baheze bawote; ubwo rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane."},{"id":30,"translation":"Abagarariji bagiriye Imana Allah ababangikanywa na Yo, kugira bahubishe abantu mw’idini ryayo. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, mu vy’ukuri amaherezo yanyu ni mu muriro”."},{"id":31,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje bemeye vy’ukuri, batsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, banatange mu mpisho no ku mugaragaro mu vyo Twabaronkeje, imbere yuko bashikirwa n’umusi, ukwigombora canke ubugenzi vy’umuntu ata co bizomumarira."},{"id":32,"translation":"Imana Allah Yaremye amajuru n’isi, Iraheza Ituma n’imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iratotahaza isi yagadutse, maze Ibamereshereza ivyamwa bibabeshaho hakoreshejwe nya mazi y’imvura, Iborohereza ku burenganzira bwayo kugendera mu bwato busunikwa n’umuyaga buciye mw’ibahari, Ibashoboza no kwikora ku nzuzi mu kunywa mwebwe hamwe n'ibitungwa vyanyu, no mu kuvomera indimo, n'ibindi;"},{"id":33,"translation":"Yabashoboje no kwikora ku zuba no ku kwezi bitigera bihagarara n’akanya na gato, kugira mworoherwe kuba kw’isi, Iranabaremera ijoro n’umurango kugira muturure, muruhuke mw’ijoro muheze murondere icorirenza ku murango."},{"id":34,"translation":"Yaranabahaye no muri ivyo vyose muyisaba. Mu gihe mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muyishimire. Mu vy’ukuri zina kiremwa-muntu, ni ukuri arirenganya akimonogoza, inema z’Imana Allah akazihakana pe!."},{"id":35,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Ibrahimu yasaba Imana Allah, Ikamwumvira, yasaba avuga ati[9]: “Mana yanje Rurema Allah! Iki gisagara ca Makka kigire ihanga ritekanye, maze jewe hamwe n’uruvyaro rwanje, Udushire kure yo gusenga ibigirwamana;","footnotes":"[9] Yasavye iki gisabisho inyuma y’aho yimuriye umukenyezi wiwe Hajara hamwe n’umwana wiwe Ismayili, akabacumbikira mu kabande ka Makka."},{"id":36,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ibigirwamana vyabaye imvo yo guhuba kwa benshi mu bantu inzira y’ukuri. Kubera ivyo rero, uwuzonkurikira muri bo akemera, azoba akurikiye idini ry'ubwislamu n’imigenzo vyanje; nayo uwuzogabitanya ku kutanyumvira mu bitari ibangikanyamana, mu vy’ukuri ni Wewe uri Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bawe;"},{"id":37,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri jewe, nacumbikiye bamwe mu muryango wanje mu bugaragwa, mu kabande katagira indimo, katanagira n’amazi, hambavu y’ingoro yawe ntagatifu, ivyo vyose nkaba nabigize kugira batsimbataze isengesho; kubera ivyo rero, Uratuma imishaha y’abantu ibahurumbira, Wongere Ubaronse ibibabeshaho mu vyamwa vy’ubwoko bwose, kugira bagushimire ku nema zawe;"},{"id":38,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Urazi neza ivyo duhisha n’ivyo tugaragaza. Eka nta n’ikintu na kimwe Imana Allah Itazi mu biremwa, haba kw’isi canke mw’ijuru”."},{"id":39,"translation":"Ibrahimu yarashimagije Imana Allah[10] ati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yandonkeje mu busaza ibibondo Ismayili na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah, Irumva igisabisho c’umusavyi;","footnotes":"[10] Imaze kumwumvira, Ikamuronsa ibibondo."},{"id":40,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Ngira umusenzi atsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, Ugire no mu ruvyaro rwanje abasenzi baritsimbataza. Mana yanje Rurema Allah! Ndanagusavye Utwakirire isengesho, Unatwumvire ibisabisho;"},{"id":41,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga, Umbabarire ibicumuro noba narakoze nka kiremwa-muntu, Wongere Ubabarire n’abavyeyi banje[11] hamwe n’abemeramana bose ku musi ibiremwa vyahagaritswe kugira biharurirwe, biheze bihemberwe ivyo vyakoze”.","footnotes":"[11] Yasabiye umuvyeyi wiwe imbere yuko amenya ko yamaze kugarariza, akaba umwansi w’Imana Allah."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah ku kutihutira guhana abirenganije mu kugarariza no gutoteza abemeramana, Yirengagiza ibikorwa vyabo; ahubwo Irindiriye kubahana ku musi bazoturumbura amaso biturutse ku ntureka zawo;"},{"id":43,"translation":"Igihe bazutse bataraba hasi, bihutira kuja guharurirwa, badakoma n’akagohe, umutima wabavuyemwo kubera ubwoba."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu warungitsweko ku bihano vy’umusi w’izuka! Abirenganije mu kugarariza, uwo musi bazovuga batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dutenyenyere akanya na gato, duheze tukwemere twumvire n’Intumwa zawe”. Bazokwishurwa n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ntimwari mwararahiye mukiri kw’isi ko ubuzima bwo kw’isi butazobaherana, n’uko ata zuka ribaho!;"},{"id":45,"translation":"Muraheza mucumbika mu mazu mwasigiwe n’abirenganije aho hambere yanyu[12], kandi mwaramenye ukuntu Twabahoneje, Twaranabahaye uburorero butomoye muri Qor’ani, ntimwaheza ngo mwikebuke!”.","footnotes":"[12] Nk’abarungikiwe Intumwa Huudi n’Intumwa Swalehe (za nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":46,"translation":"Ababangikanyamana barateze umutego wo kwica Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi Imana Allah Yari Izi umutego bateze Intumwa yayo, maze Irawutegura; kanatsinda, nya mutego wabo nta n’imisozi wari gusenyura kuko ata co wabashikanyeko."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah Ica kubiri n’isezerano Yahaye Intumwa zayo, ryo kuzishikana ku ntsinzi no guhonya abazihakana. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Izokwihora bikwiye abansi ku musi w’izuka[13];","footnotes":"[13] Iyi Aayah, n’aho itumbereye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko inyigisho irimwo iraba abislamu bose."},{"id":48,"translation":"Umusi isi izosubirizwa iyindi si yera nk’umwakaka, n’amajuru agasubirizwa ayandi majuru, maze ibiremwa vyose bigasokoroka mu kuzimu bidora, bikarenguka imbere y’Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;"},{"id":49,"translation":"Kuri uwo musi, Uzobona abanyavyaha baboheshejwe iminyororo ku maboko n’amaguru;"},{"id":50,"translation":"Inyambaro zabo zizoba zihinguwe mu cuma kirurumba, umuriro na wo ubababure mu maso;"},{"id":51,"translation":"Ivyo bizoba ukwo, kugira Imana Allah Ihembere umuntu wese ku vyo yakoze kw’isi, vyaba ivyiza canke ibibi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani Twakumanuriye rero, ni ubutumwa bwibutsa abantu bose, bubagabisha ku bihano vy’Imana Allah, kugira bamenye mu vy’ukuri ko Imana Allah ari Imwe Rudende Itabangikanywa, no kugira abanyabwenge bibuke, maze bikebuke."}]},{"id":15,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Raa [1]. Izi ni Aayah z’Igitabu, ico Gitabu kikaba ari yo Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo.","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Igihe abagarariji babonye ibigaba mu bislamu bitezuriwe bikava mu muriro wa Jahannamu, bazokwicuza igituma batabaye abislamu."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Reka abagarariji barye baryame, bidagadure baryoherwe gato n’ubuzima bw’isi, maze basamazwe no guhurumbira kwegeranya ivy’isi ha kugamburukira Imana Allah; bitebe bitebuke, bazomenya neza iherezo ryabo, ko ari ribi."},{"id":4,"translation":"Nibaba rero bakugarariza ku gushaka kwihutira guhanwa, nibamenye ko ata ho Twigeze guhana abanyagacimbiri ngo Tubahonye, kiretse igihe isango ry’ihonywa ryabo rigeze."},{"id":5,"translation":"Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ryarenganye."},{"id":6,"translation":"Abagarariji babwiye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) batebura bati: “Ewe muntu wamanuriwe Qor’ani, wewe mu vy’ukuri warakehewe n’ubwenge;"},{"id":7,"translation":"Ubwo ntiwari gupfuma utumanurira abamalayika bemeza ukuri kwawe niwaba uri mu mvugakuri!”."},{"id":8,"translation":"Imana Allah Yaciye Ibishura Iti: “Burya Twebwe Allah, ntitumanura abamalayika, kiretse mu gihe hageze ihanwa ry’abagarariji vy’ukuri. Muri ico gihe rero, ntitunatenyenya na gato kubahana;"},{"id":9,"translation":"Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor’ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n’ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo”."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse aho hambere yawe Intumwa ku migwi y’abantu itandukanye;"},{"id":11,"translation":"Nta Ntumwa n’imwe muri zo rero yigeze ibashikira, kiretse ko bahora bayiteburako."},{"id":12,"translation":"Ni nk’uko nyene rero - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo kubera itebura ryabo - Dutera ikimangu c’ubugarariji mu mitima y’abanyavyaha bakugarariza;"},{"id":13,"translation":"Ntibemere Qor’ani wamanuriwe, ni na kwo Imana Allah Yamye Ibigenza mu guhonya imigwi y’abagarariji bo hambere yawe."},{"id":14,"translation":"N’iyo Tuza kwugururira abagarariji b’i Makka umuryango ugana mw’ijuru, maze bakawudugiramwo kugira bibonere ukuri kwamye ibitangaro vyacu, ntibari kwemera namba;"},{"id":15,"translation":"Ni ukuri, bari kuvuga bati: “Mu vy'ukuri twahunitswe, ibi tubona n’amaso si ivy’ukuri na gato, ahubwo mbere twebwe twarozwe”."},{"id":16,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarashize mw’ijuru riri hafi y’isi inzira-ntasobwa z’inyenyeri, kugira nya nyenyeri zibere abantu ibimenyetso vyo kumenya inzira, umwanya, ibihe vy’agatasi n’ici, Turanaheza Tuzigira ibisharizo bisharije isi ku bitegereza;"},{"id":17,"translation":"Twaranakingiye ijuru ribegereye ngo ntirivogerwe na shetani yavumwe;"},{"id":18,"translation":"Kiretse iyigerageje mu mashetani gusuma urusaku ku nkuru z’ibiremwa vyo mw’ijuru, iyo iraheza igaterwa inyenyeri nyakotsi yakaka, ikayiturira [2].","footnotes":"[2] Hari igihe bishika ko shetani isuma urusaku ku nkuru z’ibibera mw’ijuru, ikanarungikira indongozi yayo zimwe muri nya nkuru imbere yuko iterwa inyenyeri nyakotsi, ikayiturira."},{"id":19,"translation":"Isi na yo nyene Twarayaguye, Turaheza Tuyiremako imisozi iyishigikiye nk’imambo, Tuyimezako amoko y’ibintu vyose nkenerwa ku rugero rugezwe neza, rutarenga ntirurenguke."},{"id":20,"translation":"Turanabaremera ivyotuma muba kw’isi mu biterwa n’ibitungwa, n’ibindi. Twarabaremeye n’uruvyaro, abakozi n’ibitwazi mwikorako; ivyo vyose bikaba bibeshejweho n’Imana Allah, mbere si na mwe mujejwe icobibeshaho."},{"id":21,"translation":"Nta kintu na kimwe nkenerwa rero ku neza y’ibiremwa, kiretse ko ibigega vyaco biri iwacu Twebwe Imana Allah, kandi ntitunaronsa nya biremwa ibibibeshaho, kiretse ku rugero rwagezwe, ruzwi."},{"id":22,"translation":"Twaranaremye umuyaga Turungika kugira ubangurire ibicu maze imvura ikagwa, ukabangurira n’ibiterwa mu gihe bishuritse, ukongera ugasunika ibicu vy’imvura aho Dushatse ko imvura igwa, gutyo Tugatuma nya mvura ivuye muri nya bicu igwa, Tukabanywesha kuri nya mazi y’imvura, mukanavomera n’indimo zanyu mukananywesha n’ibitungwa vyanyu. Iyo mvura rero, ntimushoboye namba gutuma igwa ku gihe mushakiye."},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dushoboye gusubiza ubuzima ikiremwa mu gihe gipfuye, ni na Twebwe nyene Dushoboye kwaka ubuzima ikiremwa mu gihe isango ryo gupfa rigeze, ni na Twebwe Samuragwa w’isi n’ibiri kuri yo."},{"id":24,"translation":"Ni ukuri, Turazi neza na neza abamaze gupfa muri mwebwe kuva kuri Adamu, Turazi neza na neza n’abakiri bazima gushika ku musi w’iherezo ry’ibiremwa."},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izokwegeraniriza hamwe ibiremwa vyose kugira Ibiharurire, Yongere Inabihembe. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose."},{"id":26,"translation":"Ni ukuri, Twaremye Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto."},{"id":27,"translation":"Na Ibilisi [3] ikaba ari na yo nkomoko y’amajini, Twayiremye mu rubeya rw’umuriro rutagira umwotsi, hari imbere y’irema rya Adamu;","footnotes":"[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, kiba ari na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani)."},{"id":28,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ngira Ndeme umuntu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahinduka n’akamoto;"},{"id":29,"translation":"Ninamara kumurema Nkatunganya indemo, Nkamuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, muraheza muce mumwubamira, mumuhe icubahiro kimukwiye”."},{"id":30,"translation":"Abamalayika bose rero, baciye bubahiriza iryo bwirizwa baramwubamira, bamuha icubahiro kimukwiye;"},{"id":31,"translation":"Ariko Ibilisi yaranse kwubamira Adamu ari kumwe n’abamalayika bamwubamiye."},{"id":32,"translation":"Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Wafashwe n'igiki catumye utubama hamwe n’abamalayika?”."},{"id":33,"translation":"Ibilisi yarireguye ku Mana Allah n’ubwishime n’akantu ati: “Sinshobora kwubamira umuntu Waremye mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahinduye ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto”."},{"id":34,"translation":"Imana Allah Ica Ibwira Ibilisi Iti: “Kuri iyo mvo rero, va mu Bwami bw’ijuru kuko wewe mu vy’ukuri uri ikivume;"},{"id":35,"translation":"Kandi mu vy’ukuri, ivumwe rizokwagira gushika ku musi w’impera y’ibiremwa igihe vyazutse”."},{"id":36,"translation":"Ibilisi araheza aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye rero kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa [4]”.","footnotes":"[4] Igihe ibiremwa vyose vyahonye ku musi w’umuhero w’isi, sinzobe ndimwo."},{"id":37,"translation":"Imana Allah Yishuye Ibilisi Iti: “Wewe mu vy’ukuri, uri mu bazoramba;"},{"id":38,"translation":"Gushika ku musi w’umuhero w’isi [5], si ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.","footnotes":"[5] Igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose, na wewe nyene uzoba urimwo."},{"id":39,"translation":"Ibilisi araheza avuga n’agahigihigi ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ku kubera ukuntu Wampubishije, ni ukuri nzoryohereza uruvyaro rwa Adamu gukora ivyaha kw’isi; kandi ni ukuri, nzokwita ku rutare ndabahubishe bose inzira yawe;"},{"id":40,"translation":"Kiretse abaja bawe Warongoye muri nya ruvyaro, bagaheza bakagutumbera mu vyo bakora vyose”."},{"id":41,"translation":"Imana Allah Isubizayo Iti: “Ng’iyi rero inzira igana kuri Jewe, igororotse;"},{"id":42,"translation":"Mu vy’ukuri abaja banje, bazontumbera mu vyo bakora vyose, nta bubasha namba uzoba ubafiseko mu kubahubisha inzira yanje; ariko uzogira ububasha bwo gutera inyoshambi abazogukurikira mu bahuvye, bakirengagiza inzira yanje;"},{"id":43,"translation":"Mu vy’ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ryo sango ry’ihuriro rya Ibilisi n’abazomukurikira bose;"},{"id":44,"translation":"Uwo muriro rero, ufise imiryango indwi igerekeranye gushika mu nyenga zawo. Umuryango umwe wose muri yo, wagenewe umugwi kanaka mu bakurikiye Ibilisi, hisunzwe uburemere bw’ivyaha vyawo”."},{"id":45,"translation":"Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye, ikikijwe n’inzuzi zitemba mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":46,"translation":"Bazobwirwa bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru mw’iteka n’itekane”;"},{"id":47,"translation":"Tuzoheza rero Tweze imishaha yabo, ntizogira inzigo n’urwanko namba, bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ari abavandimwe bakundana, bicaye barabana ku bitanda vy’inyegamo vy’iteka;"},{"id":48,"translation":"Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazoruha ngo bagire ubute, eka ntibazonigera babukurwamwo."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira abaja banje ko mu vy’ukuri, ari Jewe Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni banje;"},{"id":50,"translation":"N’uko mu vy’ukuri, ibihano vyanje ari vyo bihano bibabaza."},{"id":51,"translation":"Biganire kandi inkuru y’abashitsi mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu, bakaza mw’ishusho ry’abantu;"},{"id":52,"translation":"Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca bamuramutsa bati: “Nimugire amahoro”, maze na we akabishura ati: “Nimusangwe ayandi”, araheza arabazimana baranka gufungura, aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri, muraduteye impungenge!”;"},{"id":53,"translation":"Ba bashitsi bahumuriza Ibrahimu bati: “Ntugire impungenge na gato, mu vy’ukuri, twaje kuguhumuriza mu kugushikiriza agakuru keza ko uzokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka”."},{"id":54,"translation":"Ibrahimu aca aritangaza ati: “Mbega yemwe mumpumuriza mu kunshikiriza agakuru keza ko nzokwibaruka, kandi naramaze gusaza jewe n’umukenyezi wanje. Igitangaro kiri aho!”."},{"id":55,"translation":"Ba bashitsi mu bamalayika bamwishura bati: “Burya tugushikirije agakuru keza! Iyi ni inkuru y’ukuri ivuye ku Mana yawe Allah, ntukabe rero mu bihebura ko batokwibaruka mu busaza”."},{"id":56,"translation":"Ibrahimu aca abishura ati: “Mbega ni nde yokwihebura ku mpuhwe z’Imana yiwe Rurema Allah, kiretse abahuvye inzira yayo!”."},{"id":57,"translation":"Ni ho rero Ibrahimu yaca ababaza ati: “None ga Ntumwa z’abamalayika! Mugenzwa n’amaki?”."},{"id":58,"translation":"Za Ntumwa z’abamalayika ziramwishura ziti: “Twebwe mu vy’ukuri, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi, b’abanyavyaha;"},{"id":59,"translation":"Kiretse umuryango wa Luutwi n’abamwemeye, abo dutegerezwa kubarokora bose mu bihano;"},{"id":60,"translation":"Havuyemwo umugore wa Luutwi kuko yaramaze guhakana. Ivyagezwe kuri we, ni uko na we nyene ari mu bahanwa”."},{"id":61,"translation":"Igihe izo ntumwa z’abamalayika zishika ku muryango wa Luutwi;"},{"id":62,"translation":"Luutwi yazibwiye ati: “Mu vy’ukuri, sinamenye abo muri”."},{"id":63,"translation":"Za ntumwa ziramutururuza ziti: “Ntugire ubwoba namba, ahubwo twaje gushira mu ngiro ibihano ku bantu bawe bahora bahakana ko vyobashikira;"},{"id":64,"translation":"Twaje rero vy’ukuri iwawe, turungitswe n’Imana Allah. Kandi ni ukuri, ivyo tukwiganiye ni ivy’ukuri;"},{"id":65,"translation":"Kubera ivyo rero muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, maze ugende mu nyuma zabo kugira ntihagire n’umwe muri bo asigara, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahindukira ngo arabe inyuma, muheze mugende munyaragasa gushika aho mutegetswe kuba muri mu mahoro”."},{"id":66,"translation":"Twebwe Allah Turaheza Duhishurira Luutwi rero ko ihonywa ry’abantu biwe yarungitsweko, riba mu mutwenzi."},{"id":67,"translation":"Abantu bo mu gisagara ca Luutwi, aho bumviye ko kwa Luutwi haje abashitsi, baraje banezerewe ko baronse abagabo bipfuza ha kwipfuza abagore."},{"id":68,"translation":"Luutwi, ni ho yamama akavuga ati: “Ni ukuri, aba ni abashitsi banje, ndabinginze ntimumaramaze imbere y’abashitsi banje;"},{"id":69,"translation":"Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje”."},{"id":70,"translation":"Ba bantu baraheza babwira Luutwi bamushinyaguriza bati: “Ntitwakubujije kwakira abantu b’ingenz i[6]”.","footnotes":"[6] Abo bantu, bari barihanije Luutwi ko atokwakira abantu b’ingenzi kuko bahora bategera ingenzi bakazifata ku nguvu."},{"id":71,"translation":"Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje [7] ndababashingiye nimwaba mushaka kwabira ha kwipfuza abagabo!","footnotes":"[7] Muri iyi Aayah abagore, Imana Allah Yabise abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka se wabo."},{"id":72,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe [8] ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;","footnotes":"[8] Imana Allah Irarahira ku kintu ico ari co cose Ishatse, mu ntumbero yo kwerekana icubahiro ca nya kintu. Nayo umuntu, ntarekuriwe kurahira ku kintu na kimwe mu biremwa, arahira gusa kw’izina ry’Imana Allah."},{"id":73,"translation":"Gushika n’aho bahitanwa mu bucagucagu n’ibihano bihonya."},{"id":74,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twabubikako isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako."},{"id":75,"translation":"Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira bakikebuka;"},{"id":76,"translation":"Mu vy’ukuri, igisagara cabo kiri ku nzira irengana kuri bose, abahaca barashobora kubona nya gisagara."},{"id":77,"translation":"Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo bigaragaza ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":78,"translation":"Ni ukuri, abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, barirenganije mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Shu’ayibu;"},{"id":79,"translation":"Duca Turabibahora mu kubahanisha nyamugigima. Kukaba nkako, burya ibisagara vy’abantu barungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu, vyompi biri ku nzira y’aho abantu baca, boheza bakahatorera icigwa bakikebuka."},{"id":80,"translation":"Ni ukuri Abanyahijiri[9], baragararije Intumwa zose[10] mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).","footnotes":"[9] Ni abantu bo mu bwoko bwa Thamuudi, baba mu kabande kitwa Hijiri, ako kabande kari mu buraruko bushira uburengero bwa Saudiya.\n[10] Ukugarariza Intumwa imwe ni nk’ukugarariza Intumwa zose kuko idini ryazo ni rimwe, zarungitswe n’Imana Imwe."},{"id":81,"translation":"Twabarungikiye ivyemezo [11] vyerekana ukuri kw’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze baravyirengagiza.","footnotes":"[11] Muri ivyo bimenyetso, harimwo ingamiya Imana Allah Yabaremeye mw’ibuye."},{"id":82,"translation":"Abanyahijiri bahora babaza inzu babamwo mu misozi, batekaniwe ko nya nzu zitobasenyukirako."},{"id":83,"translation":"Ni ho bahitanwa mu mutwenzi n’ibihano bihonya;"},{"id":84,"translation":"Amatungo n’inkomezi hamwe n’inyubakwa vyabo, ntivyabakingiye guhitanwa n’ibihano bihonya vy’Imana Allah."},{"id":85,"translation":"Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Twabiremye mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Ni ukuri, igihe c’umuhero w’isi vuba bwango kirashika, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, birabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, ukwirengagiza kuzira umwidogo."},{"id":86,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":87,"translation":"Muvugishwamana! Ni ukuri, Twaraguhaye igisomwa c’intango “Al-Faatiha”, kigizwe na Aayah indwi zisomwa mu cunamo c’isengesho iryo ari ryo ryose, Twaranaguhaye Qor’ani ntagatifu."},{"id":88,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ntukarabe wipfuza ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji mu bihendamaso vy’isi; kandi ntugatuntuzwe n’igarariza ryabo, uraheza gusa wicishe bugufi ku bemeramana;"},{"id":89,"translation":"Unavuge uti: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah, ko vyobashikira mu gihe mwogarariza;"},{"id":90,"translation":"Imana Allah Irabagabisha ku bihano Iti: “Nk’uko Twebwe Allah Twamanuriye ibihano abaciyemwo Qor’ani imice, bakemera bimwe bagahakana ibindi [12], ni ko Tuzohana n’abandi”;","footnotes":"[12] Mu bayahudi, abanaswara n’ababangikanyamana mu Bakorayishi."},{"id":91,"translation":"Abafashe Qor’ani bakayicamwo imice kugira ngo baburagize abantu kuyemera, mu kuvuga ko ari uburozi bwigendera, abandi na bo ngo ni amangetengete\"."},{"id":92,"translation":"Kubera ivyo vyose rero, Jewe Allah Ndarahiye kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko Twebwe Allah Tuzobaharurira ku musi w’izuka, Duheze Tubahembe bose;"},{"id":93,"translation":"Tubahembere ivyo bakoze kw’isi mu gucamwo Qor’ani imice, hamwe n’ibindi vyaha bakoze mu gusenga ibintazi."},{"id":94,"translation":"Ntumwa y'Imana! Rarikira rero abantu ku mugaragaro, ko bokurikira ukuri wategetswe n’Imana Allah, maze ubarabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana;"},{"id":95,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaramaze kugukingira ibangamira ry’abatebura kuri Qor’ani;"},{"id":96,"translation":"Ababangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, bitebe bitebuke bazomenya iherezo ribi ry’ivyo bakoze."},{"id":97,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Turazi neza ko utuntujwe n’ivyo bavuga mu kukurwanya."},{"id":98,"translation":"Ku kugira uremururire umushaha rero, ninahaza Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, wongere ube mu bayubamira mu gusenga;"},{"id":99,"translation":"Uheze ushishikare kwiyegereza Imana yawe Rurema Allah mu vyo ukora vyose, unayisenga ubuzima bwawe bwose, gushika umusi wawe wo gupfa."}]},{"id":16,"verses":[{"id":1,"translation":"Bagarariji! Umuhero w’isi vuba bwango urashika nta gisivya, kugira muhanirwe ivyo mwakoze, ntimurinde kwihuta mu gutebura musaba ko mwohanwa. Nihaninahazwe Imana Allah Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya."},{"id":2,"translation":"Imana Allah, Imanura abamalayika kw’itegeko ryayo, baje guhishurira uwo Ishatse mu baja bayo mu Ntumwa, maze bagahishurira nya Ntumwa bati: “Nimugabishe abantu ku bihano vyanje Jewe Allah mu gihe bombangikanya, kuko nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimungamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yanje”."},{"id":3,"translation":"Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya."},{"id":4,"translation":"Yaremye umuntu mw’ima ry’intanga zigayitse; amaze gukura acika umwansi ruhebwa, maze aragarariza yivuye inyuma mu guhakana ko ata zuka ry’ibiremwa ribaho;"},{"id":5,"translation":"N’ibitungwa [1] Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;","footnotes":"[1] Ingamiya, inka n’intungwa."},{"id":6,"translation":"Harimwo no kuberwa kuri mwebwe gutuma mugira akamwemwe, igihe mubicuye ku mugoroba n’igihe mubiturukije mu gitondo;"},{"id":7,"translation":"Biranabungururiza imizigo yanyu bikayishikana mu gihugu ca kure, mutoshoboye kubishikanayo mutabanje kuruha, mugacumukura. Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenikigongwe mu kubatunganiriza ivyankenerwa mu buzima, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":8,"translation":"Yabaremeye n’ifarasi n'ibivyarwa n’ifarasi hamwe n’indogobwe, Ibaremera n’indogobwe nyene kugira muvyikoreko mu kwiyunguruza no mu gushaza mukaberwa mu gihe muri kuri vyo; Iranabaremera n’ibindi mutazi mwokwikorako mu kwiyunguruza, kugira muyemere muyishimire;"},{"id":9,"translation":"Imana Allah Ijejwe kubatomorera inzira yayo y’ubwislamu igororotse. Hambavu y’ivyo, hari n’izindi nzira ziciye kubiri n’ubwislamu, zihubisha [2]. Iyo rero Imana Allah Ibishaka, Yari kubarongora mwese mu nzira yayo;","footnotes":"[2] Inzira zihubisha, ni inzira y'idini canke iciyumviro giciye kubiri n'ubwislamu."},{"id":10,"translation":"Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Ibaronsa n’amazi mwikorako mu kunywa no mu kuvomera ibiti n’ubwatsi mwahirira ibitungwa vyanyu, mugaheza mukavyikorako mu buzima bwa misi yose;"},{"id":11,"translation":"Hakoreshejwe nya mazi y’imvura nyene, Imana Allah Iraheza Ikabamereshereza n’ibiterwa bitandukanye, imizayituni, itende n’imizabibu; hamwe rero n’ivyamwa n’imboga vy’ubwoko bwose. Muri iryo meresha ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah."},{"id":12,"translation":"Yaranabagiriye ijoro riba umwanya mwiza wo kuruhuka; umurango na wo uba umwanya mwiza wo kurondera icorirenza; Ibaremera n’izuba kugira ribamurikire ku murango, mwongere murimenyereko umwanya n’imisi; Ibaremera n’ukwezi kugira kubahe umuco mw’ijoro, mwongere mukumenyereko ibihe vy’agatasi n’ici, hamwe n’imyaka, n’ibindi. Inyenyeri zimanye mu kirere, na zo zaremwe kw’itegeko ryayo, kugira muzimenyereko ubutumbero bw’ahantu mw’ijoro ry’umuzimagiza, n’ibindi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu b’ababanyabwenge banyurwa bakagamburukira Imana Allah."},{"id":13,"translation":"Yaranabaremeye mw’isi ibinyabuzima bigendagenda hamwe n’ubutare, n’ibindi bintu ngirakamaro bifise amabara atandukanye, biri mu nda y’isi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, mu butandukane bw’amabara yavyo n’akamaro kavyo, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu bibuka bagasenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya."},{"id":14,"translation":"Ni na Yo Yabaremeye ibahari kugira murye ifi murovyemwo zifise inyama yoroshe, mwongere mucukure muri nya bahari ibikoresho muhinguramwo ibisharizo mwambara[3]. Muzobona n’ubwato amahanga bubunguruza bugendera ku mazi muri nya bahari, kugira murondere icobabeshaho mu ruja n’uruza rw’urudandazwa ruca muri yo; ivyo vyose rero, Imana Allah Ikaba Yabibaremeye kugira muyishimire ku nema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.","footnotes":"[3] Nka lulu na marjani"},{"id":15,"translation":"Yarashinze n’imisozi mw’isi kugira iyigumye, ntibazungagize; Ibashiriraho n’inzuzi mwikorako, Ibacira n’inzira mucamwo kugira ntimuzimire inzira ibashikana aho mwipfuza kuja;"},{"id":16,"translation":"Yabashiriyeho n’ibimenyetso bibazimurura ku murango; mw’ijoro naho, inyenyeri zikabazimurura."},{"id":17,"translation":"Mbega none, Imana Allah Ishoboye kurema ivyo vyose, ni Yo mubangikanya n’ibigirwamana bidashoboye kurema na kimwe! Ubwo ntimwokwibuka icubahiro c’Imana Allah, mugaheza mukayisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":18,"translation":"Mu gihe rero mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muheze muronke ingene mwoyishimira kuri nya nema. Ni ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":19,"translation":"Burya, Imana Allah Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera, vyaba ivyo muhisha mu mishaha canke ivyo mukorera mu mpisho, hamwe n’ivyo mukorera ku mugaragaro."},{"id":20,"translation":"Ibigirwamana ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kurema n’aho koba n’akantu inzatsa, kanatsinda na vyo nyene vyabajwe n’ababangikanyamana;"},{"id":21,"translation":"Ntivyinyagaza na gato ngo bigire ico vyimariye, eka nta n’ubuzima bifise, ntibizi n’igihe Imana Allah Izozurirako ababisenga."},{"id":22,"translation":"Imana yanyu Ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, ni Imana Imwe Rudende Allah, burya abatemera ko hariho izuka ry’ibiremwa, imitima yabo irahakana ko hariho Imana Imwe Rudende, bakagira n’amanyama mu kutemera kuyisenga vy’ukuri ari Imwe Rudende."},{"id":23,"translation":"Ni ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera."},{"id":24,"translation":"Ababangikanyamana iyo babajijwe bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”. Bishura bati: “Yayimanuriye imigani n'ibitito vy’ab’aho hambere”."},{"id":25,"translation":"Imperuka yabo ku musi w’izuka, kuzoba ukwiremeka ivyaha vyabo vyose hiyongeyeko n’umutwaro wa bimwe mu vyaha vy’abo babeshe, bakabahubisha ku bujuju inzira y’ubwislamu. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni bibi cane ivyaha bazokwiremeka."},{"id":26,"translation":"Abantu bo hambere y’abo, barateze imitego Intumwa barungikiwe, maze Imana Allah Iraheza Inyiganza inyubako y’ubuhuvyi bwabo guhera ku mushinge wayo, urusenge rwayo rubasenyukirako, maze bashikirwa n’ibihano barahona mu buryo bataziga;"},{"id":27,"translation":"Hanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”;"},{"id":28,"translation":"Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barirenganije mu guhakana, maze bagaca bugufi kuko babonye urwabo rushitse, bakihakana ibigirwamana bahora basenga, bakanavuga bati: “Nta co twigeze dukora mu bicumuro!”, bagaheza bakishurwa bati: “Mwanguha! Ahubwo mwari mwarimonogoje; mu gucumura, ni ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mwakoze vyose, kandi Izobibahembera”;"},{"id":29,"translation":"Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah."},{"id":30,"translation":"Nayo abagamburukiramana bagize ngo barabazwa bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”, bazokwishura bati: “Yayimanuriye ivyiza n’uburongozi”. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo kuri ino si, bakararikira n’abandi ukwemera n’ugukora ivyiza bitegetswe, baragenewe intsinzi no kuroranirwa kw’isi; mu buzima bw’inyuma yo gupfa naho, barategekanirijwe ivyiza bisumba ivyo bagenewe kw’isi. Iryo rero ni ryo cumbi ryiza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku bagamburukiramana;"},{"id":31,"translation":"Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, bazokwinjira muri nya Bwami babubemwo ibihe bidahera, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; bazoronswa muri nya Bwami ivyo bipfuza vyose. Ni nk’iyo mpera rero Imana Allah, Ihemba abagamburukiramana;"},{"id":32,"translation":"Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barejejwe imitima, maze bagaca bababwira bati: “Nimugire amahoro, muragasimba imanga, nimwinjire rero mu Bwami bw’ijuru ku vyiza mwakoze mukiri kw’isi, mukemera Imana Allah mukanayumvira”."},{"id":33,"translation":"Burya, ababangikanyamana nta co barindiriye imbere yuko bemera, atari uko urwabo rushika bagakurwamwo imitima n’abamalayika, bagapfa bakigarariza; canke bagashikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya. Ni nk’ukwo nyene rero, abo hambere y’abo bagararije bagahanwa, kandi Imana Allah ntiyabarenganije namba muri ukwo guhanwa, ariko ni bo birenganije mu kugarariza;"},{"id":34,"translation":"Maze bahuganirwa n’ivyo bakoze, baca bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ngo ntibazobihabwa;"},{"id":35,"translation":"Ababangikanyamana bavuze biregura bati: “Iyo Imana Allah Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende, twebwe eka n’abavyeyi bacu, ntitwari gusenga mu gishingo cayo iyindi mana, ntitwari no kuziririza na kimwe Itigeze Iziririza”. Ni nk’ico cireguzo nyene abagarariji bo hambere y’abo bireguje babesha[4], nta n’ikindi Intumwa zarungikiwe kiretse ugushikiriza ubutumwa butomoye.","footnotes":"[4] Muri ukwo kwiregura rero, barabeshe kuko Imana Allah Yarabahaye ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke ikibi, Iranabarungikira Intumwa zibatomorera amabwirizwa yayo; ibirekuwe n’ibizira, kugira ntibazokwitwaze ukutamenya canke ivyagezwe."},{"id":36,"translation":"Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose[5]”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze.","footnotes":"[5] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa."},{"id":37,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwitwararika na ntaryo kurongora ababangikanyamana, uramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Itarongora uwo Yaretse kubera ubugaba bwiwe agahuba, eka n’ababangikanyamana ntibazoronka mw’isi yose uwubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":38,"translation":"Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Imana Allah Idashoboye kuzura uwapfuye, yamaze no kubora. Imana Allah Yobuzwa n’iki kumuzura! Imana Allah isango Yagenye ryo kuzura ibiremwa, ni iry’ukuri, ariko abenshi mu bantu ntibabizi ngo bategere ubushobozi n'ububasha vyayo mu kuzura abapfuye."},{"id":39,"translation":"Imana Allah, Izozura ibiremwa vyose kugira Ivyereke ukuri kw’izuka vyahazanyeko, no kugira ngo abagararije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bamenye ko babeshe."},{"id":40,"translation":"Izura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene."},{"id":41,"translation":"Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;"},{"id":42,"translation":"Abimutse mu guharanira vy’ukuri idini ry’Imana Allah, ni abihanganiye kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakihanganira n’ivyagezwe kuri bo, bakishimikiza Imana yabo Rurema bakayizera."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo, batari mu bamalayika, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo nimwaba mutazi ko vyari ukwo[6].","footnotes":"[6] Iyi Aayah isaba umuntu wese afise akamubakiye mw’idini, ko ategerezwa kubaza abamenyi babushitse."},{"id":44,"translation":"Intumwa z’aho hambere rero, Twazirungikana ivyemezo bitomoye hamwe n’Ibitabu. Ntumwa y’Imana! Na we nyene, Twakumanuriye Qor’ani kugira utomorere abantu amabwirizwa y’ivyo bahishuriwe, kugira ngo biyumvire baheze batahure nya mabwirizwa banayubahirize."},{"id":45,"translation":"Mbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!;"},{"id":46,"translation":"Canke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana[7]! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana;","footnotes":"[7] Canke ko Imana Allah Itobahanisha gukehanirwa mu matungo n’umwimbu, no kubura ababo."},{"id":47,"translation":"Canke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":48,"translation":"Mbega abagarariji ntibaraba ivyaremwe n’Imana Allah bifise igitutu; nk’imisozi n’ibiti, ngo babone ko igitutu cavyo hari igihe gihengamira iburyo canke ibubamfu, gikurikije uruhande izuba ririko ku murango, n’uruhande ukwezi kuriko mw’ijoro, vyose bikaba vyicisha bugufi ku Mana yavyo Allah, kandi vyubahiriza n’itegeko ryayo!"},{"id":49,"translation":"Ibigendagenda biri mu majuru n’ibiri mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; n’abamalayika nyene[8] bubamira Imana Allah, kandi ntibagira amanyama ngo bareke kwicisha bugufi kuri Yo;","footnotes":"[8] Imana Allah muri iyi Aayah, Yadomyeko urutoke abamalayika kandi na bo baharurwa mu bigendagenda, ku kubera ubwinshi bwabo n’icubahiro bafise kuri Yo."},{"id":50,"translation":"Batinya Imana yabo Rurema Allah Iri hejuru yabo[9] mu cubahiro n’amatazirano yayo, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe na Yo.","footnotes":"[9] Iyi Aayah, irerekana ko Imana Allah Iri hejuru y’ibiremwa mu bumana bwayo nk’uko biyikwiye."},{"id":51,"translation":"Imana Allah Yavuze Ibwira abaja bayo Iti: “Ntimukagire imana zibiri musenga, ahubwo Imana mukwiye gusenga, ni Imwe Rudende Allah, ni Jewe gusa rero mukwiye gutinya”."},{"id":52,"translation":"Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah!"},{"id":53,"translation":"Bantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise[10], ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko;","footnotes":"[10] Inema iyo ari yo yose ishingiye ku kuba umugororotsi, ku kuroranirwa mu magara, ku kuronswa ibikubeshaho n’ibibondo, n’ibindi."},{"id":54,"translation":"Mu nyuma Yamara kubakurako nya cago, muri mwebwe hakavamwo umugwi uca usubira kandi kubangikanya Imana yawo Rurema Allah;"},{"id":55,"translation":"Gutyo inyuma y'ikurwako rya nya cago bakagarariza mu guhakana inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, hatibagiwe no kubakurako ivyago. Bahakanyi! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye iherezo ry’ubuhakanyi bwanyu."},{"id":56,"translation":"Ababangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi;"},{"id":57,"translation":"Bakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu."},{"id":58,"translation":"Iyo hagize umwe muri bo ahabwa inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, yirirwa yijiriwe mu maso n’ishavu n’akantu;"},{"id":59,"translation":"Yinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane."},{"id":60,"translation":"Abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":61,"translation":"Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw'isango ntarengwa ry'umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato, eka ntihazonashika nya sango ritaragera."},{"id":62,"translation":"Bomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo."},{"id":63,"translation":"Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri Twarungitse Intumwa ku migwi y’abantu b’aho hambere yawe, maze shetani irabaryohereza ibikorwa vyabo vy’ubugarariji n’ibangikanyamana; shetani rero, burya ni yo muhagarikizi wabo abahubisha kw’isi, baranategekanirijwe ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":64,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Igitabu ca Qor’ani atari ukugira ngo utomorere abantu ivyo bahazanako mw’idini n'amabwirizwa yayo, gutyo Qor’ani iheze ibere uburongozi n’impuhwe abemeramana vy’ukuri."},{"id":65,"translation":"Imana Allah Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Inagisha ibiterwa n'ivyimeza kw'isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y'igaduka no gucika ubukumbagare kw'isi. Mu vy’ukuri, muri iryo gwa ry’imvura n’itotahazwa ry’isi, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kuzura ibiremwa."},{"id":66,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri mw’irema ry’ibitungwa, harimwo inkebuzo kuri mwebwe; Tubanywesha mu biciye mu nda yavyo, amata nya mata, ahinguwe mu ruvange rw’ibica mu mayezi n’amaraso, aryohera abanywi ntibashishwe;"},{"id":67,"translation":"Biri no mu nema zacu kuri mwebwe, ivyamwa mwamura kw’itende n’imizabibu, mugaheza mukenga muri nya vyamwa ibiboreza[11], mukanabifungurako. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo, cotuma abantu bafise ubwenge batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakikebuka bakayigamburukira.","footnotes":"[11] Ukwenga ibiboreza mu vyamwa bivugwa ng'aha, hari imbere yuko habuzwa kwenga ibiboreza, hakaziririzwa no kubinywa."},{"id":68,"translation":"Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Yareretse inzuki intumbero y'ukuntu zikwiye kubaho, Iti: “Muratondagira ku misozi no ku biti muhagire inzu (ibitiba), no ku nyubakwa z’aho abantu baba no ku nsenge zaho, na ho nyene murahagira inzu (ibitiba);"},{"id":69,"translation":"Hanyuma mufungure (mudahe) ku mashurwe yose mwipfuza, muheze mukurikire inzira mworoherejwe gucamwo n’Imana yanyu Rurema Allah, mu kuja kurondera icobabeshaho mu misozi no ku biti”. Mu nda h’inzuki rero, ni ho hahingurirwa ubuki, bukavamwo butandukanye kw’ibara. Burakiza abantu indwara zitandukanye. Muri iryo hingurwa ry’ubuki rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah."},{"id":70,"translation":"Bantu! Imana Allah Yarabaremye hanyuma Izobaka ubuzima mupfe urwanyu nirwashika. Muri mwebwe rero, harimwo uwuzoshikanwa mu busaza gushika n’aho atakimenya na kimwe; nk’aho yoba yasubiye mu bwana agatangura guhoha, ntabe akimenya n’ivyo yahora azi imbere yuko asaza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Mushoboravyose."},{"id":71,"translation":"Imana Allah Yarateye iteka bamwe muri mwebwe kw’isi gusumba abandi, gutyo muri mwebwe haba umutunzi n'umukene, umukoresha n'umukozi. Abahawe ubutunzi gusumba abandi rero, ntiboshobora guhereza kuri nya butunzi abatabuhawe, ngo baheze banganye, canke ngo babusabikanye. Abahawe ubutunzi rero, baramutse badashimishijwe n’uko bonganya canke bagasabikanya nya butunzi n’abatabuhawe, bigenda gute none ngo bashime ko Imana Allah Ibangikanywa n’ibiremwa vyayo, mu gihe na bo batemera gusabikanya n’abatahawe ubutunzi ubwabo bagaba bakaganza! Ukwo rero, ni kwo kwihakana koko inema z’Imana Allah."},{"id":72,"translation":"Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!."},{"id":73,"translation":"Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora."},{"id":74,"translation":"Bantu! Mumaze gutahura ivyo vyose rero, ntimugafate ibibazano ngo mubihe ubushobozi bw'Imana Allah mu kubibangikanya na Yo mu gusenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora, mu gihe mwebwe mwirabira hirya mukirengagiza kumenya iherezo ryanyu ribi."},{"id":75,"translation":"Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira[12]; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.","footnotes":"[12] Akarorero Imana Allah Itanga muri iyi Aayah no muri Aayah ikurikira, ni uburorero bwerekana amahinyu ari ku gusenga ibigirwamana mu biremwa vyaremwe, ata n’ico vyishoboje, ha gusenga Imana Allah, Yo Yabiremye, Ikaba ari na Yo Rugaba wavyo."},{"id":76,"translation":"Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!"},{"id":77,"translation":"Imana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":78,"translation":"Imana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende."},{"id":79,"translation":"Mbega ababangikanyamana ntibararaba ngo babone inyoni ingene zoroherejwe kugendera mu kirere! Nta gituma zidakorokera hasi, kiretse ko Imana Allah Yaziremeye amababa n’imirizo, Iranazishoboza kuguruka mu kirere. Mw’ishobozwa ry’inyoni ryo kuguruka mu kirere, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana, vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah."},{"id":80,"translation":"Imana Allah Yabagiriye amazu yanyu mubamwo kuba ari ahantu muruhukira mugaheza mukagira ituze hamwe n’abanyu; Ibashoboza no mu gihe muri ku rugendo gushinga amahema ahinguwe mu nsato z’ibitungwa, ayo mahema araborohera kuyatwara mu gihe mwimutse, akaborohera no kuyashinga aho mucumbitse; Ibashoboza no guhingura mu bwoya bwavyo utwa nkenerwa dutandukanye, kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, gushika igihe isango ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa, ryageze."},{"id":81,"translation":"Imana Allah Yabagiriye mu vyo Yaremye, ibintu mushobora kwikorako bikabaha agatutu; Ibagirira n’aho mushobora guhungira bikenewe, mu misozi, amasenga y’ibuye n’imyobo; Ibagirira n’impuzu zihinguwe mw’ipampa no mu bwoya, n’ibindi, zigaheza zikabakingira ubushuhe n’igikonyozi; Ibagirira n’ivyambarwa bihinguwe mu cuma, bibakingira ivyogeramira ubuzima bwanyu mu ndwano. Ni uko rero, Imana Allah Yabahaye ivyo vyose kugira Ibatunganirize inema yayo yo kubatomorera idini ry’ukuri, kugira mwicishe bugufi kuri Yo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya."},{"id":82,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nibagenza umugongo rero, bakakwirengagiza inyuma y’aho bumviye ivyo vyemezo, ntuzokwicwe n’intuntu namba, kuko wewe mu vy’ukuri, nta kindi ujejwe kiretse gushikiriza ubutumwa butomoye."},{"id":83,"translation":"Ababangikanyamana barazi inema y’Imana Allah yo kurungikirwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bagahakana bivuye inyuma irungikwa ryayo, burya abenshi muri bo, barayigarariza."},{"id":84,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa ababangikanyamana intureka z’umuhero w’isi, umusi Twarengukije Intumwa Twarungikiye umugwi umwumwe w’abantu, kugira ibere icabona abayemeye muri bo, yongere yagirize n'abayigararije, hanyuma abagararije muri bo ntibazohabwa uburenganzira bwo kwiregura ku bugarariji bwabo, eka ntibazonasabwa ko bashimisha Imana Allah mu kwigaya;"},{"id":85,"translation":"Abirenganije mu kugarariza, igihe babonye ibihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa na gato mu bihano, eka ntibazonahabwa agahengwe."},{"id":86,"translation":"Ababangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”."},{"id":87,"translation":"Ababangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo."},{"id":88,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abagararije bagahakana Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanaburagiza abantu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, Tuzobaha ibihano vy'iburagiza ryabo vyiyongereye ku bihano vy'igarariza ryabo, bitewe no kugenzwa n’ubwononyi kwabo."},{"id":89,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi Twarengukije mu mugwi umwumwe w’abantu icabona kibagiriza, ico cabona kikazoba ari Intumwa Twawurungikiye ivuye muri wo nyene, maze Tukakurengutsa na we kugira ubere icabona aba bantu warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa. Twakumanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira gitomore ikintu ico ari co cose gikeneye insiguro, congere kibere uburongozi n’impuhwe abacemera, kibere n’inkuru nziza iremesha abislamu."},{"id":90,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Ibwiriza abaja bayo muri Qor’ani gutunganiriza abandi ata nkunzi; kurangwa n’ubugwaneza mu kuyisenga batayibangikanya, mu kwubahiriza amabwirizwa yayo no mu kwitwararika abandi; kwunga ubucuti bw’abavandimwe mu kubaha imperezwa; Ikababuza no gukora ivyaha vy'agahomerabunwa, ibicumuro no kurenganya abandi. Imana Allah rero, Irabakebura mu kubaha izi mpanuro, kugira mwibuke amabwirizwa yayo muheze muyubahirize."},{"id":91,"translation":"Enda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera."},{"id":92,"translation":"Ntimukisubireko rero kw’isezerano mwahanye, ngo mube nk’umugore ari aho yajisha hanyuma yamara guheza, agaca ajishura ivyo yajishe; aho mugira indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, maze mukisubirako ku vyo mwasezeranye, mu gihe mubonye ko inyungu n’akamaro kanini kari mw’isezerano rindi mwogiranira n’abandi bantu. Ni ukuri Imana Allah, Irabagerageza kw’ibwirizwa ryo kwubahiriza amasezerano no kutisubirako mu ndahiro. Ni ukuri, Izobamenyesha ku musi w’izuka ukuri ku vyo mwahora muhazanako mw’idini no mu mabwirizwa yayo."},{"id":93,"translation":"Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere."},{"id":94,"translation":"Ntimukagire rero indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, kuko mwohava muhungabana maze mugahona inyuma y’aho mwari mutekanye; mukaba nk’umuntu yanyereye agatemba nk’amazi inyuma y’aho yari ahagaze bwuma, mukanahonja n’ibihano vyo kw’isi kuko mwabaye imvo yo kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu[13], muranategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.","footnotes":"[13] Ni iburagizwa riterwa no guhemuka kwanyu ku masezerano no kwisubirako mu ndahiro."},{"id":95,"translation":"Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":96,"translation":"Ivyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye[14] ku vyo bari barakoze kw'isi.","footnotes":"[14] Bagahemberwa igikorwa gito indishi y’igikorwa kinini."},{"id":97,"translation":"Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze."},{"id":98,"translation":"Mwemeramana! Niwashaka gusoma Qor’ani, urabanza wikinge ku Mana Allah, Igukingire inyoshambi za shetani yavumwe, maze uvuge uti: “A’UUDHU BILLAAHI MINA SSHAYTWAANI RRAJIIM”,"},{"id":99,"translation":"Mu vy’ukuri, shetani nta bubasha ifise ku bantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah, bayizeye;"},{"id":100,"translation":"Mu vy’ukuri, shetani ifise ububasha ku bantu bayigize umuhagarikizi wabo, bagaheza bakayumvira, maze muri kwa kuyumvira bakabangikanya Imana Allah."},{"id":101,"translation":"Iyo Twebwe Allah Dusubirije Aayah iyindi Aayah, Imana Allah na Yo Ikaba ari Yo Izi neza ibirimwo ineza ku biremwa vyayo mu mabwirizwa Imanura mu bihe bitandukanye, abagarariji baca bavuga bati: “Ni ukuri, wewe Muhamadi urabeshera Imana Allah, ukavuga ivyo Itigeze Ivuga”. Ihibambewe, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ntiyigera ibesha mu vyo ishikiriza, ahubwo rero abenshi muri bo ntibazi Imana Allah n’amabwirizwa yayo."},{"id":102,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah."},{"id":103,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Turazi ko ababangikanyamana bavuga bagutyoza bati: “Mu vy’ukuri, Muhamadi yigishwa Qor’ani na kiremwa-muntu”. Nibateshwe bate mu kwihenda bavuga ko ururimi rwigishijwemwo Qor’ani atari urw’icarabu, mu gihe Qor’ani yamanuwe mu rurimi rutomoye rw’icarabu."},{"id":104,"translation":"Mu vy’ukuri abagararije mu kutemera Qor’ani, Imana Allah ntizobashoboza gutumbera ukuri, barategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":105,"translation":"Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah, ni abatemera Imana Allah n’ivyemezo vyayo, abo ni na bo babeshi ruhebwa rero[15];","footnotes":"[15] Nayo Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yemera ikanicisha bugufi ku Mana Allah, ni ikizira kikaziririzwa ko yobeshera Imana Allah mu gushikiriza ivyo itahishuriwe na Yo."},{"id":106,"translation":"Abadohotse mu kwemera, bakatura ubugarariji inyuma y’aho bahora bemera Imana Allah, abo barakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Uwuhatiwe ku bugarariji akabwatura ku rurimi gusa, mu gihe umutima wiwe ugitsimbataye ku kwemera, uyo nta kabi kuri we; ahubwo akabi n’akabibi ni ku watuye ubugarariji ku rurimi abikuye ku mutima. Uyo rero ari mu bashavuriwe cane n’Imana Allah, baranategekanirijwe n'ibihano rutura;"},{"id":107,"translation":"Ivyo biri ukwo, kuko bahisemwo ubuzima bw’ibihendamaso vy’isi bakabuhurumbira, ha guhurumbira indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah na Yo Ikaba Itarongora mu nzira yayo abantu b’abagarariji."},{"id":108,"translation":"Abo ni bo rero, Imana Allah Yateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo ngo ntishikirwe n’umuco w’ukwemera, Irabaziba n’amatwi ngo ntibategere amabwirizwa yayo, Irabahumya n’amaso ngo ntibabone ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Abo, ni na bo rero bagoswe mu kutamenya ibihano bibarindiriye."},{"id":109,"translation":"Ni ivy’ukuri ko abagarariji, ari bo bazogira agahombo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":110,"translation":"Hanyuma rero mu vy’ukuri, abahohotewe bakiri i Makka, bakageragezwa mu guhatirwa ukwatura amajambo ataroranye n’ukwemera, mu gihe imitima yabo igitsimbataye ku kwemera, mu nyuma bagahunga bakimukira i Madina, hanyuma bagaharanira idini ry’Imana Allah bakanihanganira ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo Yarabababariye, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":111,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa abagarariji intureka z’umusi w’umuhero w’isi, igihe umuntu uwo ari we wese azokwivugira ku gatwe kiwe yiregura, maze Imana Allah Igatunganiriza umuntu uwo ari we wese ku vyo yakoze, nta n’umwe muri bo rero azorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanirizwa indishi."},{"id":112,"translation":"Imana Allah Yarabaciriye agace k’igisagara ca Makka cari kibayeho mw’iteka n’itekane, kikaronka n’ibikibeshaho bivuye mu mihingo yose, hanyuma bene co barihakana inema z’Imana Allah mu kuyibangikanya, Imana Allah Iraheza Ibahanisha inzara no gutekerwa n’ubwoba bitewe n'ibintu bahora bakora."},{"id":113,"translation":"Ni ukuri barashikiriwe n’Intumwa ivuye muri bo, ari yo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze barayihakana ntibemera ukuri yabazaniye, Imana Allah Ica Irabahana, bakaba bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah no kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo;"},{"id":114,"translation":"Bemeramana! Nimufungure mu vyiza birekuwe, Imana Allah Yabahaye, muheze mushime inema z’Imana Allah mu kuyigamburukira nimwaba koko ari Yo mwiyegereza mu vyo mukora vyose."},{"id":115,"translation":"Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe kurya intumvyi mu bitungwa, ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’igitungwa cabagiwe ikitari Imana Allah. Ariko uwuzohakwa kwicwa n’inzara, agafungura kuri ivyo biziririjwe, mu gihe atokwirenganya mu kurengera ku bitarekuwe, canke mu kurenza urugero rwo kwivuna inzara, uyo rero nta kabi kuri we, kuko mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":116,"translation":"Babangikanyamana! Ntimukabeshere Imana Allah mu kuvuga ko iki kirekuwe kandi Yarakiziririje; no mu kuvuga ko kiriya kizira kandi Yarakirekuye, ivyo mukabivuga kugira murementanirize Imana Allah. Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko Yarekuye ikizira canke Yaziririje ikirekuwe, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":117,"translation":"Baryoherwa akanya gato gusa n’ubuzima bwo kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":118,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twaranaziririje ku bayahudi gusa ivyo Twamaze kukudondagurira[16], ntitwigeze rero Tubarenganya namba muri iryo ziririza, ariko ni bo birenganije mu bugarariji, maze Tubahanisha iryo ziririza.","footnotes":"[16] Ivyaziririjwe ku bayahudi, ni ico ari co cose mu bikoko gifise ibinono bidasatuye, ibinure vy’inka canke intungwa, kiretse ibinure bisanzwe biri mu nyama canke umusokoro uri mu magufa."},{"id":119,"translation":"Hanyuma rero, mu vy’ukuri abacumuye ku kutamenya inkurikizi y’ukwo gucumura, mu nyuma bakigaya ibicumuro vyabo, maze bakikebuka bakanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo, Irabababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":120,"translation":"Mu vy’ukuri, Ibrahimu yari indongozi mu bugwaneza vy’ukuri[17], agamburukira Imana Allah, asenga Imana Imwe Rudende Allah yicishije bugufi, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana;","footnotes":"[17] Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yari indongozi ingana umugwi w’abantu mu kudatirigana ku kuri."},{"id":121,"translation":"Yarashima inema Imana Allah Yamuhaye. Imana Allah Yamutoye kuba Intumwa, Iraheza Iramurongora mu nzira igororotse y’ubwislamu;"},{"id":122,"translation":"Twaranamuhaye Twebwe Allah kw’isi, inema yo kuyagwa neza n’abantu, akabera akarorero keza n’abarutse mu nyuma, no kuronswa ikibondo ageze mu za bukuru. Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu bantu b’aberanda bubashwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":123,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu nyuma, ni ho rero Twebwe Allah Twaguhishurira ko ukurikira akaranga-mutima k’idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana."},{"id":124,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Yashingiye abayahudi umusi w'isabato kugira ube umusi wo gusenga, ni na wo musi bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, maze barawihitiramwo ubwabo, ha guhitamwo umusi w’ijuma (wa gatanu) bari bategetswe kwubaha no kwubahiriza. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izobacira urugororotse ku musi w’izuka ku vyo bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, Iheze Ibahembere ivyo bakoze."},{"id":125,"translation":"Ntumwa y’Imana! Hamagarira abantu mu nzira yo kwemera Imana yawe Rurema Allah, mu bwitonzi n’ubukerebutsi nta ngere, n’impanuro mu majambo meza abereye, yotuma bahurumbira ukuri, maze uganire na bo muhanahana mu rupfasoni. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi."},{"id":126,"translation":"Bemeramana! Nimwashaka kwihora uwabahohoteye, murihora mutarengeje urugezo rw’ihohoterwa mwagiriwe; nimwaramuka mwihanganiye ukutihora, ni ukuri bizoba ari vyo vyiza cane ku bihanganye mu kwerekana ubutore kw’isi, no mu kuronka impembo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":127,"translation":"Ntumwa y’Imana! Urihanganira rero abakugeramira kugera ushike ku ntsinzi wasezeraniwe n’Imana Allah, burya ukwihangana kwawe ni ku bw’Imana Allah, kandi ntukicwe n’intuntu y’ukudashoka wumvirwa, eka ntukicwe n’agahinda gatewe n’imitego bagutega."},{"id":128,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Iri kumwe[18] n’abayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe n’abagwaneza mw’ishira mu ngiro ry’ivyo Ibategetse.","footnotes":"[18] Imana Allah Iri kumwe na bo, mu kubatera intege n’inkunga no mu kubatabara."}]},{"id":17,"verses":[{"id":1,"translation":"Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora."},{"id":2,"translation":"Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”."},{"id":3,"translation":"Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo."},{"id":4,"translation":"Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana;"},{"id":5,"translation":"Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya mbere, Tuzobateza abaja bacu b’intwari ku rugamba, badatinya rukamvye, baheze babice, babangaze. Iryo sango rero ritegerezwa gushika nta kibuza;"},{"id":6,"translation":"Hanyuma nimwicisha bugufi, Tuzosubira Tubahe intsinzi mwiganzure, Duheze Tubahe ibibondo n’amatungo, Tubahe no kurondoka cane mugwirirane gusumba abandi bantu;"},{"id":7,"translation":"Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;"},{"id":8,"translation":"Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[1]”.","footnotes":"[1] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe."},{"id":9,"translation":"Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;"},{"id":10,"translation":"Ikanagabisha abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa, ko bategekanirijwe ibihano bibabaza."},{"id":11,"translation":"Umuntu iyo atwawe n’agashavu, hari igihe yihutira kwisabira inabi, agasabira inabi n’abana hamwe n’amatungo vyiwe, nka kurya yisabira iciza, maze Imana Allah ku mpuhwe zayo, Igaheza Ikamwakirira gusa igisabisho yisabiramwo iciza, kuko burya umuntu yama yisabira inabi ku kwihuta no ku kutamenya."},{"id":12,"translation":"Ijoro n’umurango Twabigize ibimenyetso bibiri vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Turaheza Tuzimya ku murango ikimenyetso c’ijoro c’ukwezi kwaka mw’ijoro, maze Dutuma ikimenyetso c’umurango c’izuba, kimurika ku murango kugira murondere icorirenza mu mpano z’Imana yanyu Rurema Allah, mw’ijoro naho muheze muruhuke, no kugira kandi mushobore kumenya igena ry’imyaka n’igitigiri c’amezi n’imisi[2]. Burya ikintu ico ari co cose Twaragitomoye bikwiye.","footnotes":"[2] Mwisunze ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango."},{"id":13,"translation":"Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[3]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;","footnotes":"[3] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe."},{"id":14,"translation":"Azobwirwa ati: “Isomere igitabu canditswemwo ibikorwa vyawe[4], uno musi ni wewe nyene ukwiye kwimenyera ido n’ido ivyo wakoze, uheze umenye n’impembo yawe ubwawe nyene”.","footnotes":"[4] Umuntu rero azoshobora kwisomera ivyanditswe mu gitabu ciwe, n’aho yoba atigeze amenya gusoma no kwandika akiri kw’isi."},{"id":15,"translation":"Uwuzoba rero umugororotsi yaragamburukiye Imana Allah, azoheza ahembwe ivyiza ku bugororotsi bwiwe. Nayo uwuzohuba, akagabitaniriza Imana Allah, azoheza ahembwe ibibi ku buhuvyi bwiwe. Nta muntu n’umwe rero azohanirwa icaha ca mugenziwe. Kandi Twebwe Allah, ntitwigeze Duhanira abantu ivyaha bakoze, Tutabanje kubarungikira Intumwa ibashikiriza ubutumwa bwacu."},{"id":16,"translation":"Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya."},{"id":17,"translation":"Hariho imigwi myinshi y’abantu Twahoneje rero, kuko yagararije Intumwa yarungikiwe inyuma y’irungikwa rya Nuhu. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kuba Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ivyaha bikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe."},{"id":18,"translation":"Uwo wese rero yipfuza kuronka ibihendamaso vy’isi akabihurumbira, ha guhurumbira ibizomufasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Turonse Twebwe Allah uwo Dushatse mu biremwa akiri kw’isi, ivyo Dushaka mu vyo Twamugeneye mu vyagezwe, hanyuma Tumutegekanirize umuriro wa Jahannamu azokwinjiramwo afitiwe umwikomo, akwiye ivumwe ry’Imana Allah."},{"id":19,"translation":"Nayo uwushaka guhemberwa ivyo yakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze agahurumbira igamburukiramana, yemera Imana Allah, yizeye n’indishi kuri Yo, uyo ari mu bakirirwa ibikorwa vyabo, bakazonashimirwa n’Imana Allah."},{"id":20,"translation":"Umugwi umwe wose rero muri iyo migwi ibiri; waba uw’abipfuza bagahurumbira ibihendamaso vy’isi, canke uw’abahurumbira indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Twebwe Allah Tuwuronsa ibiwubeshaho kw’isi mu mpano zacu, burya impano z’Imana yawe Rurema Allah, kw’isi nta n’umwe yimiriwe kuzironkako."},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi."},{"id":22,"translation":"Muntu! Ntukabangikanye Imana Allah n’iyindi mana, ngo wisange utewe ivyatsi n’Imana Allah, wongere unagirirwe n’umwikomo na Yo maze uteterwe."},{"id":23,"translation":"Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;"},{"id":24,"translation":"Uheze wicishe bugufi kuri bo mu kubumvira impuhwe, wongere ubasabire uvuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Girira impuhwe nta ngere abavyeyi banje, nk’uko banyihanganiye bakandera nkiri muto”."},{"id":25,"translation":"Bantu! Burya Imana yanyu Rurema Allah, Irazi neza ivyo muhishije mu mishaha yanyu; vyaba ivyiza canke ibibi. Nimwaba aberanda rero mu vyo mukora mushaka gushimisha Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya[5], Izobagirira ikigongwe.","footnotes":"[5] Iyo Imana Allah Iravye mu mushaha w’umuntu Ikabona ukwigaya vy’ukuri, Iraheza Ikamubabarira ibicumuro n'ivyaha vyiwe yakoze ku bubegito ndemanwa bwiwe."},{"id":26,"translation":"Muntu! Urubaha wubahirize agateka k’umuvandimwe wawe mu kumuhereza imperezwa ku bugwaneza, wongere uhe n’umukene atagira shinge na rugero, n’uwuri ku rugendo yakehaniwe n’ikimushikana iyo aroye, kandi ntugatange mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi;"},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;"},{"id":28,"translation":"Niwirengagiza guha imperezwa abayigenewe, ku mvo zo kutagira ico wobaha, uzeye kuzoronka ico wobahako ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, uraheza ubabwire akajambo keza k’ituze kabaremesha ko niwaronka uzobaha;"},{"id":29,"translation":"Ntukabe rero ingumyi mu kudatanga mu bikorwa vy’igamburukiramana[6]; kandi ntugasesagure mu gutanga gushika n’aho utanga ibirengeye ubushobozi bwawe, maze ugatangura gutanako imiragwe n’abantu bakakunebagura, ugatangura kwicuza kw’isesagurwa ry’ubutunzi bwawe.","footnotes":"[6] Nko gusumira umuryango no gufasha aboro n’abakene batagira shinge na rugero, n’ibindi."},{"id":30,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iha uwo Ishatse umusesekara gusumba abandi mu bibeshaho ibiremwa, Ikagerera muri vyo uwo Ishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa vy’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe."},{"id":31,"translation":"Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;"},{"id":32,"translation":"Ntimukegere na gato ivyotuma mugwa mu busambanyi. Mu vy’ukuri ugusambana, ni icaha c'agahomerabunwa, ni n’inzira mbi itabereye namba;"},{"id":33,"translation":"Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[7]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[8] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;","footnotes":"[7] Nk’ingingo yo kwica uwishe, canke uwudohotse ku kwemera akava mu bwislamu “murtaddi”, canke uwusambanye yari yubatse urwiwe agaterwa amabuye gushika apfe.\n[8] Umuhagarikizi arekuriwe gusaba ubutungane ko bwubahiriza ingingo yo kwihorera uwishwe. Umuhagarikizi arashobora kuba ari umwe mu basigwa biwe batorana, canke akaba mu ndongozi."},{"id":34,"translation":"Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[9] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.","footnotes":"[9] Nko kuyakoresha mu bikorwa vyo kugwiza ubutunzi."},{"id":35,"translation":"Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":36,"translation":"Muntu! Ntukihe gushira mu ngiro canke guhagarikira ivyo udafitiye ubumenyi. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa kw’ikoreshwa ry’amatwi, amaso n’umushaha. Niyakoresha rero ivyo bihimba ku neza, azoheza abihemberwe iciza; niyabikoresha naho ku nabi, azoheza abihemberwe ikibi;"},{"id":37,"translation":"Ntukagendagende n’amanyama n’ubwishime kw’isi, wewe mu vy’ukuri ntuzopfa utoboye isi ku manyama yawe; n’ubwishime bwawe kandi ntibuzotuma ungana n’umusozi mu burebure."},{"id":38,"translation":"Izo ngingo n’amabwirizwa y’ibiziririjwe vyadondaguwe ng’aho hejuru, ibibi bibikomokako, Imana yawe Rurema Allah ntibikunda namba."},{"id":39,"translation":"Muvugishwamana! Izo ngingo n’amabwirizwa rero, ni bimwe mu vyo Imana yawe Rurema Allah Yaguhishuriye. Muntu! Ntukanabangikanye Imana Allah n’iyindi mana mu gusenga, wohava utabwa mu muriro wa Jahannamu, abantu bagatangura kugutako imiragwe, na we ubwawe ukicuza ukayitako, ukisanga ata ciza na kimwe ufise kiretse ivumwe."},{"id":40,"translation":"Babangikanyamana! Mbega Imana yanyu Rurema Allah Yabahitiyemwo kubaha abana b’abahungu, Iraheza Yigenera mu bamalayika abana b’abakobwa! Mu vy’ukuri, mwebwe muvuga ijambo ribi cane ryo kwomekera abana b’abakobwa ku Mana Allah."},{"id":41,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoye bikwiye muri Qor’ani, ingingo, amabwirizwa n’inyigisho zitandukanye, kugira abantu banyurwe baheze bikebuke. Iryo tomora ry’ingingo n’amabwirizwa, nta co ryigeze ryongereza abirenganya mu bantu, kiretse ubugaba bwo guhunga ukuri no kutikebuka."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ushimangira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, uti: “Imana Allah, iyo Iba Ifise izindi mana biri kumwe nk’uko ababangikanyamana bavuga, nya mana zari kurondera inzira izishikana kw’iganza ry’Imana Allah Nyenubuhangamo”."},{"id":43,"translation":"Nihaninahazwe Imana Allah, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga."},{"id":44,"translation":"Amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri muri vyo, vyose biraninahaza Imana Allah, nta n’ikintu na kimwe rero caremwe, kiretse ko kininahaza Imana Allah mu kuyishimagiza, ariko mwebwe abantu ntimutahura ininahazamana ryavyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo usomye Qor’ani, maze ababangikanyamana bakayumva, mu kubahanira ubutumva bwabo, Duca Dushira ipaziya hagati yawe n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, maze nya paziya igatuma badatahura Qor’ani;"},{"id":46,"translation":"Tugaheza Tugasibanganya n'imitima yabo igacika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheze ngo banyurwe na Qor’ani, Tukaziba n’amatwi yabo maze ntibumvirize Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’iyo uyaze Imana yawe Rurema muri Qor’ani, urarikira ko Yosengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, baca birabira hirya bakagenza umugongo bahunga iryo rarikwa ryo gusenga batabangikanya Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":47,"translation":"Burya rero Twebwe Allah, Turazi neza ihangiro ry’ivyo ababangikanyamana bumviriza iyo bariko bagutega amatwi. Ntibanakwumviriza ku mvo zo gutahura ngo banyurwe. Turazi n’ivyo bavuga mu bwongoshwe, maze abirenganije muri bo, bakavuga bati: “Emwe! Nta co mukurikira kiretse umugabo yarozwe agakeherwa n’ubwenge!”."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu ababangikanyamana bakugize iciro ry’umugani ko uri umurozi wakehewe n’ubwenge, maze barahuba, eka ntibashobora no gutumbera inzira igororotse y’ukuri."},{"id":49,"translation":"Ababangikanyamana bavuze bamirira kure izuka ry’ibiremwa, bati: “Aho rero nitwahwera tugacika amagufa yabunzwe akabora, burya tuzosubizwa ubuzima kandi, duheze tuzuke ku musi w’izuka!”."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Murashaka muhinduke ibuye canke icuma nimwaba mubishoboye;"},{"id":51,"translation":"Canke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”."},{"id":52,"translation":"Umusi Imana Allah, Iyabaremye Yabahamagaye ngo muzuke, maze mukitaba muyishimagiza, mugasokoroka mu kuzimu mwubahiriza itegeko ryayo, muzokwibaza ko mutigeze muba kw’isi kiretse akanya gato, bitewe n’intureka z’uwo musi."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje b’abemeramana bavuge amajambo meza aroranye, abereye mu bihe vyose. Nibatabikora ukwo, bazokwibonerako. Mu vy’ukuri, shetani irateranya ikabiba urwanko hagati yabo; ni ukuri shetani, yamye ari umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu."},{"id":54,"translation":"Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Irabazi neza. Ishatse Yobagirira impuhwe Ikabashoboza kwemera; canke Ishatse Igatuma muhwerera mu bugarariji, Igaheza Ikabahana. Ntumwa y’Imana! Eka ntitwakurungitse ku bantu kugira ubabere umuhagarikizi ajejwe kubahembera ivyo bakoze;"},{"id":55,"translation":"Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibiremwa biri mu majuru no mw’isi. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaradugije icubahiro bamwe mu Bavugishwamana gusumba abandi, mu guhabwa Ibitabu n’ubwinshi bw’ababakurikiye, Twaranahaye n’Intumwa Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Zaburi."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe mutakambira ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, maze bibakureko ivyago! Ico mwomenya co, ni uko bidashoboye namba kubakurako nya vyago; kira noneho rero, ntibinashoboye no gutera ivyago n’uwundi atari mwebwe[10]”.","footnotes":"[10] Iyi Aayah irabuza gusenga no kwiyambaza ikintu na kimwe mu gishingo c’Imana Allah, caba ari umuzimu canke ikiri kizima, yaba Intumwa canke umweranda, n’ibindi."},{"id":57,"translation":"Ivyo bigirwamana musenga mutakambira mu biremwa, vyaba mu Bavugishwamana, mu beranda canke mu bamalayika, birahiganwa mu gukora ivyobishikana ku Mana yavyo Rurema Allah, bikizigira kuronka impuhwe zayo, bigatinya n’ibihano vyayo. Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, abantu barakwiye kubitinya bakavyigira kure."},{"id":58,"translation":"Nta gacimbiri na kamwe k’abagarariji gahakana Intumwa, kiretse ko Twebwe Allah Tuzogahonya imbere yuko umuhero w’isi ugera; canke Tukagahanisha ibihano bibabaza kw’isi. Iryo honywa n’ihanwa ryako, vyaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah."},{"id":59,"translation":"Nta catumye Tutamanura ibitangaro vyasabwe n’ababangikanyamana, atari uko abo hambere y’abo Twabamanuriye nya bitangaro bakabihakana. Twarahaye Bene Thamuudi (barungikiwe Intumwa Swalehe) igitangaro gitomoye c’ingamiya, baraheza barirenganya bivuye inyuma mu guhakana nya gitangaro. Burya Twebwe Allah, ntitwigeze Turungikana Intumwa ibitangaro, atari ukugira ngo abantu batinye ibihano vyacu, baheze bikebuke."},{"id":60,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twakubwira Duti: “Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Yarahetuye abantu mu bumenyi n’ubushobozi vyayo. N’ivyo Twakweretse mu bitangaje vy’ibiremwa mu rugendo rw’ijoro no mu kuduzwa mw’ijuru, ukabibona ukuri kwamye, ntitwabigize atari ukugira ngo bibe igeragezwa ku bantu; gutyo hagaragare umwemeramana n’umugarariji. N’igiti citwa “Al-Zaqquum” cavumwe, kivugwa muri Qor’ani, na co nyene Twakigize igeragezwa ku bantu. Turanatera rero n’ubwoba ababangikanyamana mu kubarungukira ibihano n’ibitangaro bitandukanye, ariko hamwe n’ivyo vyose, nta na kimwe bibongerereza kiretse ukwimonogoza mu bugarariji”."},{"id":61,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[11]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini, yaciye avuga ku bwishime n’akantu ati: “Vyoshoboka gute ko nubamira ikiremwa Waremye mw’ivu!”.","footnotes":"[11] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani)."},{"id":62,"translation":"Ibilisi n’ubugarariji n’akantu yarubahutse abwira Imana Allah n’agahigihigi ati: “Urabona iki kiremwa Uteye iteka Ukacubahiriza kunsumba, niwampa kuramba gushika ku musi w’izuka, nta co ntazokora mu kurazwa ishinga no gukwiragiza ubwononyi no guhubisha uruvyaro rwaco uko nshoboye kwose, kiretse gusa bake muri rwo bazogutumbera mu vyo bakora”."},{"id":63,"translation":"Imana Allah Yaciye Ibwira Ibilisi Iti: “Genda umaramarire hiyo! Uwuzogukurikira mu ruvyaro rwa Adamu akakwumvira, mu vy’ukuri igihano cawe hamwe n’abagukurikiye, kirabarindiriye mu muriro wa Jahannamu;"},{"id":64,"translation":"Wewe genda wigarurire abo ushoboye bose muri nya ruvyaro, mu kubararikira ubuhuvyi n’ubwononyi, maze ugireko wegeranya ingabo zawe zose zishoboka, izigendera ku bitwazi n’izigenda n’amaguru, uheze wifadikanye na zo mu kunyengetera mu matungo yabo barondera, baheze bayakoreshe mu kuyatanga mu bizira, unyengetere no muri bo mu kubaryohereza ivyaha no kuvyara abana baciye mu busambanyi; ntugarukirize ng’aho, ahubwo niwongere ubahe isezerano ry’ikinyoma”. Burya shetani, ntiyigera itanga isezerano ry’ukuri, kiretse ko ari uruhendo gusa."},{"id":65,"translation":"Mu vy’ukuri, abaja banje bantumbera mu vyo bakora, nta bubasha ubafiseko namba. Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi Akingira abantu inyoshambi n’uruhendo vya shetani."},{"id":66,"translation":"Bantu! Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Ituma ubwato bubatwara bugendera mw’ibahari, kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenimbabazi n’impuhwe ku biremwa vyayo;"},{"id":67,"translation":"Iyo mukozweko n’ivyago mw’ibahari mugahakwa gutwarwa, mushoka mwibagira ivyo mwahora mubangikanya n'Imana Allah, maze mugasaba Imana Imwe Rudende Allah muyitakambira ngo Ibibakureko, Imana Allah Yamara kubibakurako, Ikabashikana imusozi amahoro, mugaca mwigira ba sindabibazwa mu kwirengagiza itakambiramana ku bugaba bwanyu. Burya zina kiremwa-muntu, kuva na kera na rindi, yamye yihakana inema z’Imana Allah."},{"id":68,"translation":"Mbega bantu! Karashize ingani mugotwe ku bihano vy’Imana Allah, mutekaniwe ku Mana Allah ko Itobafuririra imusozi, canke ko Itobarungikira imvura y’urubuye izananye mu kirere, hanyuma mukisanga ata muhagarikizi n’umwe yoshobora kubakingira ivyo bihano!"},{"id":69,"translation":"Canke mbega hoho, mwoba mutekaniwe ku Mana Allah mu gihe mwamaze kugarariza, ko Itobasubiza kandi mw’ibahari, Igaheza Ikabarungikira igihuhusi kikabasomesha nturi bivuye kw’igarariza ryanyu, hanyuma ntimuronke n’ico mwitwaza ngo mwisigure imbere yacu!"},{"id":70,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarateye iteka ry’icubahiro Bene Adamu mu kubacisha ubwenge, mu kubarungikira Intumwa no mu kuborohereza kwikora ku biri mw’isi. Twaranabashoboje kwiyunguruza imusozi ku bitwazi, no kwiyunguruza mu bwato mw’ibahari, Tubaronsa n’ibibabeshaho mu mfungurwa n’ibinyobwa vyiza birekuwe, Turaheza rero Tubaha n’icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyinshi Twaremye."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi w’izuka, igihe Twarengukije umugwi umwumwe w’abantu hamwe n’indongozi yawo bumvira kw’isi bakayikurikira; uwuzogira amahirwe rero akaba muri nya mugwi ari umweranda, maze agahabwa n’igitabu c’ivyo yakoze mu kuboko kw’ukuryo, uyo azoba ari mu bantu bazosoma igitabu cabo bahimbawe n’akamwemwe kenshi. Abo rero, ntibazorenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze, n’aho koba akantu kanzunya kangana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende."},{"id":72,"translation":"Nayo uwuzoba kuri iyi si, ari impumyi y’igipfamutima mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nyene, azoba ari impumyi y’igipfamutima idashobora guca mu nzira igana mu Bwami bw’ijuru, kanatsinda azoba yaranahuvye uguhuba nya guhuba inzira y’uburongozi kw’isi."},{"id":73,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana bahatswe kugukura ku ntumbero y’ivyo Twakumanuriye muri Qor’ani, kugira ngo uturementanirize ibihushanye na vyo, iyo rero uramuka urementanije nk’uko bavyipfuza, ni ukuri bari kukugira umugenzi pfampfe;"},{"id":74,"translation":"Iyo rero Tutagutsimbataza ku kuri, ni ukuri warahatswe guhengamira gato ku ruhande rwabo mu kubemerera bimwe mu vyo bipfuza, kuko baguma bagutega imitego, na we ukamana icizigiro ko bazoteba bakemera."},{"id":75,"translation":"Iyo uhirahira rero ugahengamira na gato ku ruhande rwabo, ni ukuri Twari guca Tuguha ibihano bigwijwe na kabiri mu buzima bwo kw’isi, n’ibihano bigwijwe na kabiri nyene igihe uri ku mpfiro[12], hanyuma ntiworonse umuntu n’umwe agutabara ngo agukureko ibihano vyacu.","footnotes":"[12] Ivyo bihano, vyari kugwizwa na kabiri ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo iborohera mu guhengamira ku ruhande rwabo, kuko Imana Allah Yayihaye inema nyinshi, Iyigisha n’ubumenyi bwinshi bituma ikwiye gutsimbatara ku kuri."},{"id":76,"translation":"Abagarariji baranahatswe kukwomora mu gisagara ca Makka ku kuntu bakubangamira. Iyo bahirahira rero ngo bakwomore muri ico gisagara, na bo nyene ntibari kukigumamwo kiretse akanya gato gusa, Tugaca Tubahana;"},{"id":77,"translation":"Ni uko vyamye rero ku bo Twarungikiye Intumwa zacu aho hambere yawe, ko abomoye Intumwa Twashoka Tubahana. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abomoye Intumwa."},{"id":78,"translation":"Tsimbataza rero amasengesho akwije ibisabwa guhera ku muhingamo gushika ku mugoroba buhwibiye; wongere utsimbataze isengesho ryo mu mutwenzi, uheze urisomemwo Qor’ani umwanya muremure, mu vy’ukuri isengesho ryo mu mutwenzi, ryitabirwa n’abamalayika b’ijoro hamwe n’abandi babakorera mu ngata ku murango;"},{"id":79,"translation":"Muvugishwamana! No mu gicugu, ba uvyuka usome Qor’ani umwanya muremure mw’isengesho; kugira iryo sengesho rikubere iry’inyongera rikudugiriza icubahiro, kumbure hari n’aho Imana yawe Rurema Allah Yokuzura ku musi w’izuka ufise igihagararo gishimwa n’ibiremwa, kuko uzobisabira gutezurirwa;"},{"id":80,"translation":"Uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ngenera ubwinjiriro bw’ukuri bunshikana ku vyiza; Ungenere n’ubusohokero bw’ukuri bunkura mu bibi, Wongere Umpe n’icemezo kivuye iwawe, gituma Untabara Ukankurako umwansi wese”."},{"id":81,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ukuri kw’ubwislamu kwaraje, ikinyoma c’ibangikanyamana kiraheza gikubitirwa ahabona, mu vy’ukuri ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, bitebe bitebuke gitegerezwa kuganzwa kigende amazimayongo”."},{"id":82,"translation":"Twebwe Allah Tumanura muri Qor’ani Aayah zivura indwara z’umutima ziterwa n'ivyaha, izivura n'indwara zisinzikaza umubiri, n’izindi zituma abemeramana bagirirwa impuhwe n’Imana Allah. Burya iyi Qor’ani, ntiyongerereza abirenganya mu bugarariji, kiretse ubuhuvyi n’agahombo."},{"id":83,"translation":"Iyo Twebwe Allah Duhaye umuntu inema y’amatungo, ibibondo no kuroranirwa mu magara n’ibindi, araheza akagenza umugongo akirengagiza igamburukiramana. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, aca yihebura kuko atizeye Imana Allah."},{"id":84,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu uti: “Umwe wese muri mwebwe akora yisunze uko ari, burya Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza umugororotsi atumbereye ukuri”."},{"id":85,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abagarariji barakubaza ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”! Bishure uti: “Ukuri ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”, kuzwi gusa n’Imana yanje Rurema Allah, kanatsinda mwebwe n’abantu bose, ntimwahawe mu bumenyi kiretse ubumenyi buke."},{"id":86,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twoshaka guhanagura mu mushaha wawe Qor’ani Twakumanuriye, ni ukuri Twobishobora, hanyuma ntiworonse umuhagarikizi n’umwe atubuza kuyihanagura canke ngo ayikwigishe bushasha;"},{"id":87,"translation":"Ariko rero Imana yawe Rurema Allah Yarakugiriye impuhwe, maze Itsimbataza Qor’ani mu mushaha wawe. Mu vy’ukuri, impano zayo kuri wewe zamye ari nta ngere[13].","footnotes":"[13] Zimwe mu ngabirano Imana Allah Yahaye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni uko Yayihaye Qor’ani ntagatifu, Iyigenera igihagararo kizoshimwa n’ibiremwa ku musi w’izuka, n’ibindi rero Itigeze Iha n’umwe mu biremwa."},{"id":88,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “N’aho abantu n’amajini bari kwiyunga, bakaja hamwe kugira bazane nk’iyi Qor’ani y’igitangaza, ntibari gupfa bazanye nkayo mu ndimburo no mw’itomora ry’ingingo n’amabwirizwa yayo. N’iyo bari kurarikana hagati yabo kugira bagerageze, nta vyo bari gushobora namba”."},{"id":89,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye abantu bikwiye muri Qor’ani, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakubahiriza nya burorero mu kubugendera, ariko abenshi mu bantu bahisemwo kugarariza ukuri, baraheza barahakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah."},{"id":90,"translation":"Ababangikanyamana bamaze kuganzwa na Qor’ani, baciye basaba ko bohabwa ibitangaro nk’uko bavyipfuza, maze bavuga bati: “Muhama! Ntiturota tukwemera namba ngo dukore ivyo ushaka, utabanje kuducira iriba ry’amazi atemba ku gataka k’igisagara ca Makka;"},{"id":91,"translation":"Canke ugire umurima wiharije ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, uheze uwucirire n'inzuzi zitemba mu migende yawo;"},{"id":92,"translation":"Canke ijuru ritugweko nk’uko watuburiye, canke utuzanire Imana Allah n’abamalayika bayo tubibonere ukuri kwamye;"},{"id":93,"translation":"Canke wigirire inzu itatswe n’inzahabu, canke uduge mw’ijuru uciye ku ngazi, kandi ntituzokwemera ko waduzeyo utabanje kugaruka ufise igitabu kivuye ku Mana Allah, maze twisomere muri nya gitabu ko wewe uri Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri”. Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah! Mbega jewe ndi igiki ku Mana Allah, cotuma ndayitegeka kubazanira ibitangaro mwipfuza! Nta co ndi, kiretse kuba ndi umuntu nkaba n’Intumwa, nshikiriza ubutumwa bwayo nk’uko Yabundungikanye”."},{"id":94,"translation":"Nta cabujije rero abagarariji kwemera Imana n’Intumwa yayo igihe bashikirwa n’uburongozi buvuye ku Mana Allah, kiretse ijambo bavuze bahakana bati: “Ni gute Imana Allah Yorungika Intumwa ivuye mu bantu!”."},{"id":95,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gondoza ababangikanyamana, ubabwire uti: “Iyo kw’isi haza kuba abamalayika bagendagenda batekaniwe, ni ukuri Twebwe Allah, Twari kubarungikira Intumwa ivuye mu bamalayika nkabo[14]”.","footnotes":"[14] Intumwa irungikwa ku bantu ivuye muri bo kugira ishikirize ubutumwa mu rurimi bumva, batahura."},{"id":96,"translation":"Babwire kandi uti: “Imana Allah ubwayo Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe, ko ndi Intumwa vy’ukuri. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe”."},{"id":97,"translation":"Uwushobojwe n'Imana Allah akarongoka mu kuri rero, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y’ukuri, uyo ari mu bantu utazokwigera uronkera n’umwe mu bahagarikizi hatarimwo Imana Allah, yobarongora ku kuri. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Twegeranye abahuvye ku musi w’izuka bagenza amaso, batabona, batavuga, batumva. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu; uko nya muriro ucureshe, ni ko Tuzowegenyeza ukarushirizaho kururumba."},{"id":98,"translation":"Ivyo bihano rero, ni yo ndishi y’ababangikanyamana, ku kuntu bagararije Aayah n'ivyemezo vyacu Twebwe Allah, bakanavuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, bati: “Mbega nitwapfa tugacika amagufa yabunzwe akabora, ni ivy'ukuri ko tuzozuka duheze dusubizwe kandi ubuzima ku musi w’izuka!”."},{"id":99,"translation":"Mbega ababangikanyamana ntibamenye ko Imana Allah Yaremye ata co Irinze gufatirako amajuru n’isi n’ibiremwa biri hagati yavyo, Ishoboye kurema nkavyo mu gihe vyohona! Yaranategekanirije ababangikanyamana isango ryo gupfa n’iryo guhanwa, nta nkeka ko iryo sango ritegerezwa gushika. Hamwe n’ivyo rero, abirenganije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bahisemwo kugarariza idini ry’Imana Allah."},{"id":100,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Iyo muba mugaba ibigega vy’impano z’Imana yanje Rurema Allah, zitigera zihera, mwari kuba ingumyi ku gutinya ko muramutse mutanze mwohava mukena, burya zina kiremwa-muntu camye ari impfumbasi, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah”."},{"id":101,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa ibitangaro icenda bigaragara, vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwiwe[15]. Ntumwa y’Imana! Urabaza Bene Israyeli ingene vyagenze igihe Musa yabazanira nya bitangaro bigaragara, maze Firawuni akamubwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nibaza ko wewe Musa warozwe, ugakeherwa n’ubwenge!”.","footnotes":"[15] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso."},{"id":102,"translation":"Musa yishuye Firawuni ati: “Ni ukuri, urazi neza ko ata wundi yamanuye ibi bitangaro icenda bigaragara atari Imana Allah, Rurema w’amajuru n’isi; Yamanuye nya bitangaro, kugira bibe ivyemezo vyotuma abanyabwenge bemera ko Imana Allah ari Yo Yaremye; n'uko ari Yo Ikwiye no gusengwa ari Imwe Rudende. Kandi rero nanje mu vy’ukuri, ndizeye ata gukekeranya ko wewe Firawuni wavumwe, utegerezwa guhona”."},{"id":103,"translation":"Ni ho rero Firawuni yatwarwa n’agashavu, aca ashaka kurondera gutera ubwoba Musa hamwe na Bene Israyeli, ko yobomora mu gihugu ca Misiri, maze Twebwe Allah Duca Turamusomesha nturi mw’ibahari, we hamwe n’ingabo ziwe zose."},{"id":104,"translation":"Maze Duca Tubwira Bene Israyeli mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’ingabo ziwe, Duti: “Nimucumbike rero ku gataka ka Shaamu, nihagera ko umuhero w’isi ushika, Tuzoheza Tubazure mwese, muheze muharurirwe”."},{"id":105,"translation":"Twebwe Allah, Twamanuriye Qor’ani vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira irarikire abantu kugamburukira Imana Allah, kandi Qor’ani yamanutse mu kuri ikingiwe, nta kizokwongerwamwo canke ngo gikurwemwo n’abantu. Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye rero, kiretse ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha ibigaba ku bihano vy’Imana Allah."},{"id":106,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani itomoye, itandukanya uburongozi n’ubuhuvyi, ukuri n’ikinyoma, kugira uyisomere abantu mu bwitonzi nta ngere; Twanayihishuye bukebuke Dufatiye ku vyagiye birashikira abantu no ku kuntu babayeho."},{"id":107,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah;"},{"id":108,"translation":"Maze bagaca bavuga bati: “Nihaninahazwe Imana yacu Rurema Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bakayibangikanya, nta nkeka ko Isezerano ry’Imana yacu Rurema Allah ryo guhemba abemeramana n’iryo guhana abagarariji, ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika”;"},{"id":109,"translation":"Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah."},{"id":110,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana[16] uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye.","footnotes":"[16] Ababangikanyamana banebagura Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko mu gusaba Imana Allah, isaba ivuga iti: “YA ALLAAH! YA RAHMAAN!” (Ewe Mana Allah! Ewe Mana Nyenimpuhwe!), bakaba babona ko ari ugusaba imana nyinshi."},{"id":111,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”."}]},{"id":18,"verses":[{"id":1,"translation":"Nihashimagizwe Imana Allah Yamanuriye Igitabu ca Qor’ani, Umuja wayo akaba n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ntiyigeze Ishira muri nya Gitabu ca Qor’ani ingingo n’imwe idashingiye ku kuri."},{"id":2,"translation":"Imana Allah, Yagize nya Gitabu ca Qor’ani kuba kigororotse, kitagiramwo amakenga n’ivuguruzanya mu ngingo zaco, kugira kigabishe abagarariji ku bihano bikaze vy’Imana Allah, congere gishikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko mu vy’ukuri bategekanirijwe impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru;"},{"id":3,"translation":"Bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ibihe bidahera, bari mu nema zamaho."},{"id":4,"translation":"Iyo Ntumwa iri ng’aho kandi kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah ababangikanyamana bavuze barementaniriza Imana Allah ko Yigeneye umwana."},{"id":5,"translation":"Ababangikanyamana nta n’ubumenyi bafise bokwisunga mu kwemeza ko Imana Allah Yigeneye koko umwana, eka n’abavyeyi babo bakurikiye muri iryo rementanya, na bo nyene nta bumenyi bari bafise bwo kurishimangira. Iryo jambo riva mu kanwa kabo rero, ryo kwomekera umwana ku Mana Allah, ni ribi cane, kanatsinda ntibavuga kiretse ikinyoma cambaye ubusa."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kumbure woba wicwa n’intuntu n’agahinda bitewe n’ukuntu abantu warungitsweko bakwirengagiza mu kugenza umugongo, ntibaheze ngo bemere Qor’ani banayigendere."},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye ibiri kw’isi, maze Tubigira ibisharizo vyayo, Tunabigira ibintu ngirakamaro ku bayicumbitseko, kugira Tubagerageze haheze hamenyekane uwukora ivyiza ku bw’Imana Allah kurusha abandi, hamenyekane n’umunyavyaha ruhebuza, gutyo Tuzohembere umwe wese ivyo yakoze."},{"id":8,"translation":"Umuhero w’isi rero niwagera, ni ukuri ibiri kw’isi vyose Twebwe Allah Tuzobihindura ubukumbagare."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ivyashikiye benisenga ry’ibuye ari bo benurubaho rwanditsweko amazina n’amateka yabo, woba uriyumvira ko ari bimwe mu vyemezo n’ibitangaro vyacu bitangaje! Irema ry’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo rero, ritangaje gusumba ivyashikiye benisenga ry’ibuye!"},{"id":10,"translation":"Ibuka igihe imikangara y’abemeramana yahungira mw’isenga ry’ibuye, ku gutinya ko yogeragezwa mu guhatirwa gusenga ibigirwamana, iraheza ivuga iti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhundagazeko impuhwe zawe, maze Udutsimbataze ku kwemera, Udukingire n’inabi y’ibiremwa, Wongere Utworohereze inzira idushikana ku vyiza bigushimisha, duheze tube mu bagororotsi”."},{"id":11,"translation":"Ni ho rero nya miyabaga Twayisinziriza umukondorazosi, iraheza iguma muri nya senga ry’ibuye imyaka n’iyindi."},{"id":12,"translation":"Hanyuma ni ho Twayikangura mw’itiro kugira Tugaragarize abantu ukuri ku vyo Dusanzwe Tuzi ku bijanye n’ikiringo iyo miyabaga yamaze isinziriye, ari na co imigwi ibiri yahazanako, gutyo haheze hamenyekane muri nya migwi ibiri, umugwi woba uzi neza igitigiri c’imisi nya miyabaga yamaze isinziriye."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tukwiganira kahise kabo vy’ukuri. Mu vy’ukuri, benisenga, ni abantu b’imikangara bemeye Imana yabo Rurema Allah baranayigamburukira, maze Tubongerereza ubugororotsi no gutsimbatara ku kuri."},{"id":14,"translation":"Twaranatimbishije n’imitima yabo igihe bahagarara imbere y’umwami yagarariza, akabanebagura ko batagisenga ibigirwamana, bakavuga bati: “Imana yacu Rurema Allah dusenga, ni Imana Rurema Yaremye amajuru n’isi, ntituzokwigera dusenga mu gishingo cayo iyindi mana. Ni ukuri, mu gihe twovuga ibihushanye n’ivyo, twoba tuvuze ikinyoma ceruye”."},{"id":15,"translation":"Ni ho rero babwirana hagati yabo bati: “Aba bantu bacu, bigiriye izindi mana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ubwo ntitwobasaba bakazana ivyemezo bigaragara vyemeza isengwa ry’ivyo bigirwamana! Burya, nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah mu kuyibangikanya”."},{"id":16,"translation":"Twaraberetse rero ico bakwiye gukora, Duti: “Igihe mwiyonkoye ku babangikanyamana, mukavavanura n’ivyo basenga havuyemwo Imana Allah, murashoka muhungira mw’isenga ry’ibuye riri ku musozi, maze musenge Imana Imwe Rudende Allah, Imana Allah Izoheza Ibahundagazeko impuhwe zayo, nta na kimwe kizobabangamira, Yongere Iborohereze inzira yo kuronka ibibabeshaho”."},{"id":17,"translation":"Ni ho rero benisenga bahungira muri nya senga ry’ibuye, maze Imana Allah Ica Irabasinziriza umukondorazosi. Izuba riserutse, wabona rihengamiye iburyo bwa nya senga; ryarenga naho, ukabona rihengamiye ibubamfu bwa nya senga, ico gihe rero nta mishwarara y’izuba yabarasirako canke ngo babure akayaga keza gaciye mu bwinjiriro bwa nya senga. Iryo bungabungwa rya benisenga, riri mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri, nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y'ukuri, ntuzokwigera umuronkera umuhagarikizi amutumbereza mu nzira y’ukuri."},{"id":18,"translation":"Ubonye rero ukuntu benisenga bari bameze, wokwibajije ko bakanura kandi basinziriye. Twebwe Allah, Twaguma Tubahindukiza ku rubavu rw’iburyo n’urw’ibubamfu, kugira ibihimba vyabo ntibibore ngo biribwe n’umuswa. Imbwa yabo bari kumwe, yari irambije ku bwinjiriro bwa nya senga nk’aho yoba ibacungereye. Uturukiriye aho bari, ubabonye wari gutungwa n’ayo wameze, wari no kwicwa n’ubwoba budasanzwe."},{"id":19,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije Tukanababungabunga ikiringo kirekire - Twabakanguye mw’itiro, kugira babazanye hagati yabo ku kiringo bamaze basinziriye. Bamwe muri bo bishuye bati: “Twasinziriye umusi umwe canke igice cawo”; abandi na bo bishuye bati: “Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza ikiringo mumaze musinziriye. Enda nyabuna rero, nimurungikane aya mahera y’amadirhamu umwe muri mwebwe aje mu gisagara, maze abasumire mu mfungurwa zirekuwe, ziryoshe, aheze abazanireko ivyo mufungura, kandi agende yiyorobeka kugira ntihagire n’umwe amumenya ngo dufatwe;"},{"id":20,"translation":"Mu vy’ukuri, nihagira abamenya aho muri, baca babatera amabuye gushika mupfe; canke babasubize mw’idini ryabo ryo gusenga ibigirwamana, ico gihe rero ntimuzokwigera mwongera kuronka icobashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru”."},{"id":21,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije ikiringo kirekire hanyuma Tukabakangura mw’itiro - Twatumye abantu bamenya aho bahungiye[1], kugira bamenye ata gushidikanya ko isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura abapfuye ku musi w’izuka, ari iry’ukuri. Ico gihe abantu bababonye bariciyemwo imigwi ku bijanye n’ukwemera izuka ry’ibiremwa; muri bo harimwo abemeye nya zuka ry’ibiremwa, hari n’abandi barihakanye. Iboneka rya benisenga ryabaye igitangaro cemeza ko izuka ry’ibiremwa ari ukuri. Benisenga bamaze kuboneka rero, ntibamaze kabiri, baciye bapfira muri rya senga ry’ibuye, ni ho abatanguye kubabona bavuga bati: “Nimubarekereyo, maze mwubakire umwugariro kw’iryo senga ry’ibuye, burya Imana yabo Rurema Allah, ni Yo Izi neza ukuri ku vyabashikiye”. Abaganza muri ico gihe bavuze bati: “Dutegerezwa kububakirako umusigiti[2]”.","footnotes":"[1] Hari inyuma y’aho baboneye amahera y’amadirhamu atagikoreshwa, bari barungikanye umwe muri bo kugira ngo abasumire.\n[2] Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mw’iragi ryayo rya nyuma, yarabujije kwubakira umusigiti ku mva z’Abavugishwamana n’aberanda; yaranavumye abakora ivyo, ni nk’uko nyene yabujije muri rusangi kwubaka ku mva, kuzubakira, kuziterako amakaro no kuzandikako; kuko ivyo bishobora kuba imvo y’ibangikanyamana mu gusenga imizimu n'abaganza."},{"id":22,"translation":"Mu bahawe Igitabu, harimwo abazovuga ku bijanye n’igitigiri ca benisenga, ko bari batatu hamwe n’imbwa yabo igira kane; harimwo n’abazovuga ko bari batanu hamwe n’imbwa yabo igira gatandatu. Umugwi wose muri iyo migwi ibiri, uzopfa gukekeranya igitigiri cabo ata cemezo ufise; harimwo n’abazovuga ko benisenga bari indwi hamwe n’imbwa yabo igira umunani. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza igitigiri ca benisenga uko kingana. Ni bake cane mu bantu bazi neza na neza igitigiri cabo”. Ntugaharire rero n’abahawe Igitabu ku vyerekeye igitigiri ca benisenga, kiretse igihe wobiganira ku vyo wahishuriwe n’Imana Allah gusa; ntuzonabaze n’umwe muri bo ku vyerekeye inkuru ya benisenga kuko ata nkuru y’imvaho bafise."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukavuge ku kintu wipfuza gukora uti: “Ejo ntegerezwa gukora ikintu kanaka”;"},{"id":24,"translation":"Kiretse mu gihe wobikesha Imana Allah mu kuvuga uti: “in shaa Allah” (Imana Allah niyabishaka). Uraheza rero utazire uninahaza Imana Allah nivyashika ukibagira kuyikesha ivyo wipfuza gukora, maze uvuge uti: “Kumbure hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yompa ibitangaro bigaragara gusumba ivyashikiye benisenga, ibitangaro vyotuma abantu bemera ubutumwa bwanje”."},{"id":25,"translation":"Benisenga rero bamaze muri nya senga ry’ibuye imyaka amajana atatu, irengako imyaka icenda[3].","footnotes":"[3] Hakurikijwe ikirangamisi cisunga imboneko y’ukwezi."},{"id":26,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwaramuka ubajijwe ku bijanye n’ikiringo benisenga bamaze basinziriye mw’isenga ry’ibuye, mu gihe ata bumenyi ubifiseko buturutse ku Mana Allah, uraheza wishure uti: “Imana Allah ni Yo Izi neza na neza ikiringo bamazeyo, ni Yo Ifise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, burya ukubona n’ukwumva kwayo, ni igitangaza koko. Ibiremwa nta muhagarikizi n’umwe bifise havuye Imana Allah yobitunganiriza ivyavyo, kandi nta n’umwe muri vyo Ibangikanije na we mu gushinga amateka no kuyashira mu ngiro”."},{"id":27,"translation":"Ntumwa y’Imana! Shikiriza ata guhigimanga ivyo wahishuriwe n’Imana yawe Rurema Allah mu Gitabu cayo Qor’ani. Burya Qor’ani, ni Igitabu ata n’umwe ashobora guhindura amajambo yaco ku kuntu atunganijwe mu kuri, eka ntuzoronka n’uwo wohungirako kiretse Yo."},{"id":28,"translation":"Muvugishwamana! Urihanganira kuguma hafi y’abakene b’abemeramana mu ngendanyi zawe, biyegereza Imana yabo Rurema Allah mu vyo bakora vyose, bakanayisenga ari Imwe Rudende igitondo n’umugoroba, barondera gushimwa na Yo gusa; ntukanabirengagize ngo witwararike abagarariji urondera kuryoherwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bw’isi, ntukumvire namba uwagoswe mu kutadutazira atuninahaza Twebwe Allah, maze agatwarwa n’ivyipfuzo vyiwe ha kugamburukira Imana Allah, Iyamuremye, gutyo ivyiwe vyose bigacika impfagusa."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagoswe uti: “Burya, ukuri nabazaniye kuva ku Mana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, uwushaka kwemera muri mwebwe, aremera ku neza yiwe; uwushaka kugarariza na we, aragarariza, azoheza abibazwe ku gatwe kiwe”. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarategekanirije abirenganya mu kugarariza, umuriro ubakikuje ku mpande zose; nibagira ngo baratabaje ngo babahembure, bazotabarwa mu guhembuzwa amazi asebuye akaryimara nk’amavuta y’ibinure yahiye, ashishura urukoba rwo mu maso. Ico rero ni co kinyobwa kibi cane bazohembuzwa, n’uwo muriro ni bwo bushikiro bubi cane."},{"id":30,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, bategekanirijwe impembo ibereye; mu vy'ukuri Twebwe Allah, ntidutakaza indishi z’ibikorwa vy’abagwaneza, eka ntitunagabanya namba kuri nya ndishi;"},{"id":31,"translation":"Abo, ni bo rero bategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Muri nya Bwami bw’ijuru, bazoberwa mu kwambikwa imiringa y’inzahabu, baheze bambare n’impuzu z’urwatsi rubisi zishonywe mw’ihariri yoroshe n’iyiremereye, begamiye ku bitanda vy’iteka bishajije. Iyo rero, ni yo mpembo ishemeye, na nya Bwami bw’ijuru, ni bwo bushikiro bwiza cane."},{"id":32,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abagarariji urabacira agace k’abagabo babiri bigeze kubaho, umwe muri bo akaba yari umwemeramana; uwundi na we akaba umugarariji. Uyo mugarariji, Twebwe Allah Twamuhaye imirima itotahaye ibiri y’imizabibu, ikikujwe n’ibiti vyinshi vy’itende, maze hagati ya nya mirima ibiri, Twahashize indimo z’ibindi biterwa ngirakamaro bitandukanye."},{"id":33,"translation":"Umurima wose muri nya mirima ibiri, waratanga umwimbu w’ivyamwa utigera ugabanuka. Twari Twacishije hagati ya nya mirima inzuzi ziyivomera vyoroshe;"},{"id":34,"translation":"Nya mugarariji rero yari afise umwimbu ushemeye, aratunga aratunganirwa, maze igihe kimwe abwira wa mwemeramana amwishimako ati: “Jewe ndakurusha kure n’iyo ubutunzi hamwe n’abakozi nkoresha”."},{"id":35,"translation":"Ni ho rero yinjira muri nya murima wiwe yirenganya mu kutemera izuka ry’ibiremwa, maze avuga ahimbajwe n’umwimbu w’ivyamwa vyawo, ati: “Sinibaza ko uwu murima wanje uzokwigera uhona!"},{"id":36,"translation":"Eka sinibaza ko n’umuhero w’isi uzobaho! Mu gihe vyoshika naho nya muhero w’isi ukabaho, ngasubizwa ku Mana yanje Rurema Allah, nzosangayo ivyiza bisumba uwu murima bindindiriye”."},{"id":37,"translation":"Mugenziwe w’umwemeramana ni ho yamubwira amuhanura, ati: “Bikugendera gute ngo ugararize Imana Allah Yakuremye mw’ivu ufatiye kw'iremwa rya so Adamu, hanyuma Ikurema mw’ima ry’intanga, hanyuma Irakuringaniza Ikugira umuntu muzima![4].","footnotes":"[4] Iyi Aayah irerekana neza ko Imana Allah Yatanguye kurema, Ishoboye gusubira kurema mu gihe co kuzura ibiremwa."},{"id":38,"translation":"Ariko jewe sinoba nkawe rero, jewe ndemera ko inkomoko y’impano zose, ari Imana yanje Rurema Allah, kandi sindota ndayibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa."},{"id":39,"translation":"Igihe winjira mu murima wawe uhimbajwe n’umwimbu w’ivyamwa, ntiwari gupfuma uvuga uti: “Ico Imana Allah Ishatse kiraba, nta nguvu mfise zo kuronka uwu mwimbu, kiretse ku vyo nshobojwe n’Imana Allah”. Niwaba unsuzugura kuko mfise ubutunzi buke n’abana bake;"},{"id":40,"translation":"Hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yompa ivyiza bisumba umurima wawe, maze Ikarungika inkuba igakubita nya murima, uwo murima ugahinduka ubukumbagare;"},{"id":41,"translation":"Canke ukazinduka usanga amazi avomera nya murima yakamye, ico gihe ntuzopfa usubiriye kuronka amazi yo kuwuvomera”."},{"id":42,"translation":"Ubutigu bugeze rero, ni ho nya murima waterwa n’ivyago, maze ivyamwa birahona, wa mugarariji asigara akunkumura ibiganza vyiwe (yipfumbereje) n’ishavu n’akantu, yicuza ku gahombo k’umutahe yakoresheje, nya murima ucika akayazwe. Ni ho wa mugarariji yavuga yishwe n’agahinda n'akantu ati: “Ese iyo menya ubushobozi n'ububasha vy’Imana yanje Rurema Allah, ngaheza ngashima inema zayo, nkareka no kuyibangikanya n’ikintu na kimwe!”."},{"id":43,"translation":"Ico gihe rero, abantu yishimira ko bamukikije, nta co bamumariye ngo bamutabare mu bihano vy’Imana Allah, eka ntiyari no kwirwanako ubwiwe ngo arokoke nya bihano."},{"id":44,"translation":"Mu gihe c’ivyago rero, ubuhagarikizi n’ubutabazi vy’ukuri, biba ari ivy’Imana Allah, bikaba ari yo ndishi n’iherezo ryiza ku bagamburukiramana."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abantu b’amanyama, bacire agace k’ibihendamaso vy’ubuzima bw’isi, ko ari nk’amazi y’imvura Twebwe Allah Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, nya mazi agatuma ibiterwa bimera bigatotahara ku bushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze mu kanya isase nya biterwa bikuma, umuyaga ukabitumura. Burya, Imana Allah Yamye ari Mushoboravyose."},{"id":46,"translation":"Amatungo n’ibibondo rero, ni ibisharizo vy’ubuzima bwo kw’isi. Nayo ibikorwa vyiza vyamaho[5], ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo agakiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.","footnotes":"[5] Na canecane itaziramana ryo kuninahaza Imana Allah, gushimagiza Imana Allah no kuyikuza."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa kandi abantu, umusi Twebwe Allah Twakuye imisozi aho yahora Tukayihotsa, ukabona isi igaragara, ata kiremwa na kimwe kiyisigayeko, maze Tukegeraniriza hamwe ibiremwa vyose, ata na kimwe Turetse muri vyo;"},{"id":48,"translation":"Maze nya biremwa bigashirwa ku murongo ahabona imbere y’Imana yawe Rurema Allah, Tugaheza Tukabibwira Duti: “Ni ukuri, Twabazuye muca murarenguka ata matungo canke abana mwibangikanije nk’uko Twabaremye ubwa mbere. Bantu mwahakana izuka ry’ibiremwa! Ahubwo mwibajije ko Tutazobagenera isango ryo kubazura, kugira Tubahembere ivyo mwakoze!”;"},{"id":49,"translation":"Igitabu c’ibikorwa vy’umwumwe wese rero, azogihabwa mu kuboko kwiwe kw’iburyo canke kw’ibubamfu, aho uzobona abanyavyaha batekewe n’ubwoba ku biri muri nya gitabu, bamaze kubona ivyaha birimwo, bazoca bihebura bati: “Amagorwa arama yemwe! Iki ni igitabu nyabaki kitigeze kireka ikintu na kimwe mu vyo nakoze caba gito canke kinini, kiretse ko canditswe!”. Ivyo bakoze vyose kw’isi rero, bazobisanga ng’aho vyaranditswe. Kandi Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya umuntu n’umwe mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa ku ndishi, n’aho yoba yakoze akantu kangana n’inzatsa, Izokamuhembera."},{"id":50,"translation":"Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi[6] Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini yanse kumwubamira, gutyo acika ikigaba ku kutubahiriza ibwirizwa ry’Imana yiwe Rurema Allah. Bantu! None ni gute mwogira Ibilisi n’uruvyaro rwiwe abahagarikizi banyu mwumvira, ha kunyumvira Jewe Allah, kandi ari bo bansi banyu! Ni bibi cane rero kugamburuka kw’abirenganya mu kwumvira shetani ha kwumvira Imana Allah.","footnotes":"[6] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani)."},{"id":51,"translation":"Ibilisi n’uruvyaro rwiwe mwumvira, sinigeze ndavyifashisha mu kurema amajuru n’isi, eka n’igihe na vyo nyene Ndabirema, sinigeze Nifashisha bimwe muri vyo mu kurema ibindi, ahubwo mbere Naremye ibiremwa vyose ata nkunga canke intege Ntewe n’ikiremwa na kimwe, kira noneho ntivyari binakenewe ko Ngira impuvyi mu mashetani n’ibindi biremwa abafasha banje[7].","footnotes":"[7] Bishoboka gute rero ko mwobagira abahagarikizi banyu mukabasenga ha kunsenga Jewe Nabaremye!."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bibutse kandi, igihe Imana Allah Yabwiye ababangikanyamana ku musi w’izuka, Iti: “Nimuhamagare rero abafasha banje mwubahutse mukambangikanya na bo mu kunsenga, kugira babakingire ibihano vyanje kuri uno musi”, maze babasabe ko bobatabara bakabakura mu bihano, habure n’uwoseruka ngo abatabare. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Tugenere iyo migwi yompi ubuhonero mu muriro wa Jahannamu."},{"id":53,"translation":"Abanyavyaha bazobona umuriro ukuri kwamye, baheze bamenye neza ko ata gisivya batabwa muri wo, nta n’ahandi bazoronka bahungira."},{"id":54,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye bikwiye muri Qor’ani abantu, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakemera. Burya zina kiremwa-muntu wese, yamye ari umuharirizi cane gusumba ibindi biremwa."},{"id":55,"translation":"Nta cabujije abantu kwemera igihe bashikirwa n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije uburongozi bwa Qor’ani, bagaheza bagasaba Imana yabo Rurema kubabarirwa ivyaha, kiretse ugushaka guhangana n’Intumwa, bagaheza bagahonywa n’Imana Allah nk’uko Yahoneje abo hambere yabo, canke bagashikirwa n’ibihano imbona nkubone."},{"id":56,"translation":"Kandi Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. N’aho rero ukuri kugaragara, nta kibuza abagarariji guhaririza Intumwa zabo ku butumva bisunga ikinyoma, kugira batsindishe nya kinyoma ukuri atari agaseseshwarumuri, bagaheza rero bakagira Igitabu n’ivyemezo vyanje itebura."},{"id":57,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwibutswa n’ivyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah, maze akavyirengagiza, akanibagira kwisubirako ngo avavanure n’ibikorwa bibi yakoze. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarazibanganije imitima yabo icika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Turanaziba n’amatwi yabo maze ntibumviriza Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’aho rero worara urabararikira ukwemera, ntibarota bakwumvira namba, ngo baheze batumbere inzira igororotse."},{"id":58,"translation":"Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Ikaba n’inkomoko y’impuhwe ku biremwa vyayo; iyo rero Ihanira nya biremwa ivyaha n’ibicumuro vy'ivyo vyarondeye kw'isi, ni ukuri Yari kwihutira kubihana, ariko rero Yarabigeneye isango ryo kuzuka kugira Ibiharurire, Iheze Ibihembere ivyo vyakoze, ntibizonaronka kuri nya sango aho bicarukira."},{"id":59,"translation":"Abahora baba muri turya ducimbiri turi hafi yanyu[8], Twebwe Allah Twabahoneje igihe birenganya mu kugarariza, Tukaba Twari Twabageneye isango ryo kubahonya, aho nya sango rigereye rero Twarabahoneje.","footnotes":"[8] Uducimbiri tw’abarungikiwe Intumwa Hudi, Swalehe, Luutwi na Shu’ayibu (za nyakugira impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":60,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwibuke n’igihe Musa yabwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Sindota ndeka kubandanya urugendo gushika ngere kw’ihuriro ry’amabahari abiri, canke ngume ngenda ikiringo kirekire gushika aho nzohurira n’umuja mweranda, aheze anyigishe ubumenyi ntafise”."},{"id":61,"translation":"Bompi barabandanije urugendo badahesha, bamaze gushika kuri nya huriro ry’amabahari abiri, baraheza baricara kw’ibuye ryari ng’aho kugira baruhuke gato, bakaba bari batekeye impamba igizwe n’ifi yumye, nya fi iramwiyaka ikorokera mu mazi, ica icika nzima, maze iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari."},{"id":62,"translation":"Ni ho rero bava kuri nya buye barabandanya urugendo, bageze imbere Musa yumva inzara imwishe, maze abwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Zana imfungurwa twivune inzara, ni ukuri uru rugendo ruraturuhije pe!”."},{"id":63,"translation":"Yuusha’u mwene Nuuni yamwishuye ati: “Mbega uribuka hamwe twicara kuri rya buye ngo turuhuke! Ni ukuri nibagiye kukubwira ivyashikiye ya fi yumye, kandi nta canyibagije kubikubwira atari shetani. Uzi n’inkuru, ya fi yumye rero yacitse nzima maze isimbira mw’ibahari, iraheza iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari mu buryo butangaje koko”."},{"id":64,"translation":"Musa aramubwira ati: “Ivyo vyashitse rero, ni co kimenyetso twarondera kidushikana aho umuja mweranda ari”. Ni ho rero basubira inyuma bagenda bakurikira ibirenge gushika kuri nya buye."},{"id":65,"translation":"Bahashitse, bahasanze umuja mweranda[9] mu baja bacu Twebwe Allah Twahaye impuhwe zivuye iwacu, Tumwigisha n'ubumenyi buhambaye buvuye iwacu.","footnotes":"[9] Uyo muja mweranda w’Imana Allah, ni Umuvugishwamana Khadwiri (nyakugira impuhwe z’Imana Allah), yari yaramaze guhwera."},{"id":66,"translation":"Maze Musa aramuramutsa amahoro y’Imana Allah, aca amubwira ati: “Wonkundira ga mugenzi nkagukurikira kugira unyigishe mu vyo wigishijwe n’Imana Allah, biheze bingirire akamaro?”."},{"id":67,"translation":"Khadwiri araheza yishura Musa ati: “Mu vy’ukuri, wewe ntushoboye kwihanganira kugumana nanje;"},{"id":68,"translation":"Ni gute wokwihanganira ivyo mpava nkora turi kumwe, kandi utigeze ugira ico ubiziko!”."},{"id":69,"translation":"Musa abwira Khadwiri ati: “Imana Allah niyabishaka, uza gusanga nihanganira ivyo nza kubona ugira vyose, kandi sinca kubiri n’ico untegetse gukora”."},{"id":70,"translation":"Khadwiri araheza yemerera Musa kumukurikira, aca amubwira ati: “Niwaba wemeye ko dufadikanya urugendo rero, ndagusavye ntuze guhirahira ngo umbaze ku vyo uza kubona nkoze umutima wawe utavyemera, gushika jewe nyene ubwanje ndakwiganiye icatumye ndabikora”."},{"id":71,"translation":"Ni ho rero bafatanya urugendo ku nkengera z’ibahari, haza ubwato maze barasaba ko bobunguruza. Bamaze kwurira muri nya bwato, Khadwiri aca yomora urubaho kuri nya bwato. Musa aca avuga n’ishavu n’akantu, ati: “Wononye ubu bwato kugira butwarwe hamwe n’abarimwo, kandi batwunguruje ata co turinze kuriha! Ni ukuri, ugize ikintu kibi cane ntashobora kwihanganira ngo ndacemere!”."},{"id":72,"translation":"Khadwiri aca abwira Musa amwibutsa ivyo basezeranye ati: “Sinari nakubwiye ko mu vy’ukuri wewe udashoboye kwihanganira kugumana nanje!”."},{"id":73,"translation":"Musa aca arasaba imbabazi, araheza amubwira yinegura ati: “Ntumfatire ku kwibagira ivyo twasezeranye ngo ubimpore, kandi ntunzanire amananiza mu kunyigisha, ahubwo ntwara bukebuke”."},{"id":74,"translation":"Khadwiri araheza arababarira Musa maze barabandanya urugendo ku nkengera z’ibahari, ni ho babona imisore igeze mu bigero, maze Khadwiri afata umwe muri nya misore aca aramwica. Musa n’ishavu n’akantu aca abwira Khadwiri ati: “Vyoshoboka gute ko wica umusore ataragera kubazwa ku vyo akora, kandi ata n’uwo yishe ngo ahanishwe igihano co kwicwa! Ni ukuri, ugize ikintu kibi, kizira cane!”."},{"id":75,"translation":"Khadwiri araheza abwira Musa amwibutsa kandi ivyo basezeranye ati: “Sinari nakubwiye ko mu vy’ukuri, wewe udashobora kwihanganira kugumana nanje!”."},{"id":76,"translation":"Musa yishura Khadwiri ati: “Ninasubira kukubaza ku kintu na kimwe inyuma y’aha, ntubandanye uri kumwe nanje, ni ukuri wanyihanganiye bikwiye, kandi wari wamburiye ko ntashobora kwihanganira ivyo ugira turi kumwe”."},{"id":77,"translation":"Musa na Khadwiri baraheza barabandanya urugendo, baca mu gacimbiri kari aho, maze basaba abantu bakabamwo ko bobazimana induhuro y’umushitsi, ba bantu baranka kubazimana. Ni ho basanga muri nya gacimbiri uruhome rwari mu guhenuka, Khadwiri araheza asanura nya ruhome ruragororoka, maze Musa aca abwira Khadwiri ati: “Vyari kuba vyiza usavye impembo kuri ico gikorwa co gusanura uruhome, kugira dusume ivyo dufungura, mu gihe na bo batwimye induhuro y’umushitsi”."},{"id":78,"translation":"Ni ho Khadwiri yabwira Musa ati: “Aho vyakabereye, ubu rero, harageze ko dutandukana, untunge unkundire ndakwiganire imvo n’imvano y’ivyo nagiye ndagira vyakunaniye kwihanganira;"},{"id":79,"translation":"Nayo ubwato nomoyeko urubaho bukononekara, bwari ubw’abakene batagira shinge na rugero, bakorera mu bijanye no kwunguruza ibintu n’abantu mw’ibahari, nca nshaka kubutera akanenge kuko hirya ya nya bakene, hari umwami yambura akigarurira ubwato bwose abonye bugikomeye;"},{"id":80,"translation":"Nayo wa musore nafata nkaca ndamwica, mu vyagezwe kuri we, yobaye umugarariji mu gihe abavyeyi biwe ari abemeramana, ni ho rero twagira impungenge ko mu gihe nya musore yokura, yohava abera abavyeyi biwe imvo yo kugagaza no kugarariza, bivanye n’uko bamwikorako mu twankenerwa;"},{"id":81,"translation":"Hari mu ntumbero rero yo gushaka ko nya bavyeyi, Imana yabo Rurema Allah Yobaha uwundi mwana azobabera intore, akabubaha akabubahiriza;"},{"id":82,"translation":"Nayo rwa ruhome rwari mu guhenuka nkarusanura rugaheza rukagororoka, rwari urw’abana babiri b’impfuvyi baba muri kirya gisagara nyene, musi ya nya ruhome hari hanyegeje ubutunzi basigiwe n’umuvyeyi wabo bugizwe n’inzahabu n’umwakaka, umuvyeyi wabo na we akaba yari umuntu w’umweranda. Ni ho rero Imana yawe Rurema Allah Yashaka ko bagera mu bigero, bagaheza bakimba musi ya nya ruhome, bakaronka nya butunzi ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah. Ivyo vyose rero nakoze, sinabikoze ku bushake bwanje, ahubwo nabikoze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah. Ng’izo rero imvo n’imvano zatumye nkora ivyo utashoboye kwihanganira kureka kumbaza no kunyiyama gushika ndakwiganiye igituma nabikoze”."},{"id":83,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku nkuru y’umwami mweranda Dhu l-Qarnayini[10]! Bishure uti: “Mpava ndabacira ku mayange inkuru yiwe, iheze ibabere inkebuzo”.","footnotes":"[10] Dhu l-Qarnayini avugwa ng’aha, ni umwami w’umweranda, akaba yari n’umwislamu w’intungane yahawe ububasha n’Imana Allah bwo gutwara isi guhera mu buseruko gushika mu burengero bwayo, akaba yaranaharaniye gukwiragiza ubwislamu n’ubutungane aho hose yashika kw’isi, akanarwanya n’akarenganyo."},{"id":84,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaratsimbataje umwami Dhu l-Qarnayini kw’isi, Turaheza Tumuha uburyo n’inguvu bimushoboza gushika ku ntsinzi iyo ari yo yose yipfuza."},{"id":85,"translation":"Ni ho rero yakoresha ubwo buryo n’inguvu ata guhesha."},{"id":86,"translation":"Umwami Dhu l-Qarnayini rero, yaragiye gushika n’aho amaze kugera mu burengero bw’izuba, yasanze izuba riboneka nk’aho rirengera mw’iriba ry’amazi arimwo ivu ryirabura; muri nya burengero bw’izuba yahasanze abantu b’abahakanyi. Twebwe Allah Twamubwiye Duti: “Ewe Dhu l-Qarnayini! Nibatemera Imana Imwe Rudende Allah, ushatse urabaha igihano co kwicwa, canke ubagirire ubugwaneza uheze ubigishe, maze ubarongore mu nzira igororotse”."},{"id":87,"translation":"Umwami Dhu l-Qarnayini yahisemwo kubigisha, aca avuga ati: “Uwirenganije muri bo agatsimbatara ku bugarariji, tuzomuhanisha igihano co kwicwa ng’aha kw’isi, hanyuma niyasubizwa ku Mana yiwe Rurema Allah, Iheze Imuhe ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu;"},{"id":88,"translation":"Nayo uwemeye Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, azoheza ahabwe indishi nziza, tuzonamworohereza mu mvugo n’ingiro, maze tuyage neza tunabane na we neza”."},{"id":89,"translation":"Umwami Dhu l-Qarnayini yarahejeje asubira mu buseruko akoresheje uburyo n’inguvu yahawe n’Imana Allah."},{"id":90,"translation":"Yaragiye, gushika n’aho amaze kugera mu buseruko bw’izuba, yasanze izuba riseruka rikarasira ku bantu, Twebwe Allah Tutigeze Duha inyubakwa canke ibiti bibakingira izuba."},{"id":91,"translation":"Ni ukuri, ni nk’uko rero Twebwe Allah, ubumenyi bwacu bwakikuje uburyo n’inguvu Twahaye Dhu l-Qarnayini, akazikoresha ku neza aho agiye hose."},{"id":92,"translation":"Mu nyuma y’aho, Dhu l-Qarnayini yarabandanije akoresha uburyo n’inguvu Twamuhaye ata guhesha;"},{"id":93,"translation":"Aragenda gushika n’aho amaze kugera hagati na hagati y’imisozi ibiri ikingiriye ibiri hakurya, hakuno ya nya misozi yahasanze abantu bahakwa kudatahura ururimi rw’abandi bantu;"},{"id":94,"translation":"Nya bantu bavuze bati: “Ewe Dhu l-Qarnayini! Mu vy’ukuri “Ya-juuja na Ma-juuja[11]”, ni abantu bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, none tukugenere impembo uheze utugirire uruzitiro-ntamenwa rudukingira rukadutandukanya na bo?”.","footnotes":"[11] Ni amoko abiri y’abantu b’ibihangange muri Bene Adamu."},{"id":95,"translation":"Dhu l-Qarnayini yabishuye ati: “Ivyo Imana yanje Rurema Allah Yampaye mu bwami no gutsimbatazwa kw’isi, ni vyo vyiza gusumba impembo mwongenera, enda nyabuna rero, nimuntere inkunga, mumfashe n’inguvu zanyu zose, mpeze ndabagirire uruzitiro-ntamenwa rubakingira rukabatandukanya na bo;"},{"id":96,"translation":"Nimumpe ibigegene vy’ivyuma”. Ni uko rero ba bantu barazanye ibigegene vy’ivyuma gushika n’aho bigera ku burebure bwa ya misozi, Dhu l-Qarnayini aca ababwira ati: “Nimucane umucanwa maze muvube”. Vya bigegene vy’ivyuma bimaze gufata umucanwa bigatukura, Dhu l-Qarnayini yaciye ababwira ati: “Nimumpe rero ubutare bw’umujumpu, mpeze ndabuyagirize kuri ibi bigegene vy’ivyuma”."},{"id":97,"translation":"Kuva ico gihe rero, Ya-juuja na Ma-juuja ntibashoboye kwurira ngo basimbe maze basohoke muri nya ruzitiro, eka ntibashoboye no kurutobora ngo barumene."},{"id":98,"translation":"Dhu l-Qarnayini amaze guheza kwubaka nya ruzitiro yavuze ati: “Uru ruzitiro-ntamenwa narwubatse ku mpuhwe z’Imana yanje Rurema Allah Igiriye abantu, nihagera rero isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ryo kurekura Ya-juuja na Ma-juuja, Imana Allah Izoca Isenyura nya ruzitiro, kandi isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ni iry’ukuri”."},{"id":99,"translation":"Umusi nya ruzitiro rwasenyutse, Twebwe Allah, Tuzorekura Ya-juuja na Ma-juuja bashwiragire maze bahungabanye abantu gushika ku muhero w'isi, hanyuma inzamba igira kabiri yo kuzuka ivuzwe, Duheze Twegeranirize ibiremwa vyose hamwe, kugira Tubiharurire maze Tubihembere ivyo vyakoze."},{"id":100,"translation":"Kuri uwo musi w'izuka rero, Twebwe Allah Tuzogaragariza abagarariji umuriro wa Jahannamu, bawubone ukuri kwamye;"},{"id":101,"translation":"Abipfutse mu maso mu kunyirengagiza no kutabona ivyemezo vyanje bakiri kw’isi, bakaba batanashoboye no kwumva ivyemezo vyanje ku kwanka ko vyotuma bemera Imana Allah n’Intumwa yayo."},{"id":102,"translation":"Mbega abagararije, bibwira ko bogira abaja banje ibigirwamana mu gishingo canje kugira ngo bibabere abahagarikizi, Tukareka kubibahanira! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarateguriye abagarariji umuriro wa Jahannamu kuba ari bwo bushikiro bwabo."},{"id":103,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kebura abantu ubabwire uti: “Mbega ndabiganire abantu bari mu ruhombo rw’ivyo bakoze!"},{"id":104,"translation":"Ni abantu ivyo bakoze vyose kw’isi vyababereye impfagusa, kandi babikoze biyumvira ko bakora vyiza;"},{"id":105,"translation":"Abo, ni bo rero bagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, baranahakana ko bazozuka bagahura na Yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo bakoze. Iryo garariza n’ihakana rero, vyatumye ibikorwa vyabo bihunguruka bicika impfagusa”. Kubera ivyo rero, Twebwe Allah, ntituzobaha icubahiro namba ku musi w’izuka;"},{"id":106,"translation":"Indishi yabo bategekanirijwe, ni umuriro wa Jahannamu bazohanishwa kubera ukuntu bagarariza Imana Allah, bagafata Aayah n'ivyemezo vyayo bashikirizwa n’Intumwa zayo, bakabiteburako."},{"id":107,"translation":"Mu vy’ukuri abanyemeye Jewe Allah n’Intumwa zanje, bagakora n’ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe Ubwami bw’ijuru ry’iteka “Firdawsi” kuba ari bwo bushikiro bwabo;"},{"id":108,"translation":"Bazobubamwo ibihe bidahera, ntibazonarota na gato babuvamwo."},{"id":109,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Iyo amazi y’ibahari acika irangi ry’ikaramu zokwandika amajambo y’Imana Allah yerekeye ubumenyi n’ingingo vyayo, ivyo Ihishurira abamalayika n’Intumwa zayo, nya mazi y’amabahari yose yokamye imbere yuko amajambo y’Imana yanje Rurema Allah ahera kwandikwa”; n’aho Twebwe Allah Twozana ayandi mabahari asahiriza ayasanzwe ari kw’isi, yokamye yose."},{"id":110,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa n’Imana Allah ko mu vy’ukuri, Imana yanyu ari Imana Imwe Rudende Allah; uwo wese rero yizera ko azozuka agahura n’Imana yiwe Rurema Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa kugira Imuhembere ivyo yakoze, nakore ibikorwa vyiza bitegetswe, kandi ntabangikanye Imana yiwe Rurema Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa mu kuyiyegereza ayisenga”."}]},{"id":19,"verses":[{"id":1,"translation":"Kaaf Haa Yaa ’Aiin Swaad[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Tugira Tugucire ku mayange ku bijanye n’impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah ku Muja wayo Zakariya[2];","footnotes":"[2] Ni Umuvugishwamana muri Bene Israyeli, yari umubaji akaba n’umugabo wa nyinabo w’Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)."},{"id":3,"translation":"Igihe yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, akayisaba mw’ibanga nta ngere aho yari yiherereye kugira Imwumvire;"},{"id":4,"translation":"Agaheza akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ngeze mu zabukuru, amagufa y’umubiri yaramaze guturagara, n’umutwe wose ntiworaba n’imvi zigendera, kandi sinigeze ndeka kwemererwa igisabo ndagusavye Mana yanje Rurema Allah;"},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko abo nzoraga inyuma y’urupfu rwanje, batazoshobora guhagararira bikwiye idini ryawe mu kurarikira abantu kuryemera, bitayeko n’umukenyezi wanje na we akaba ari ingumba, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa akambera n’umufasha;"},{"id":6,"translation":"Akazotorana ubutumwa bwanje n’ubutumwa bwa Bene Yakubu; kandi ndagusavye Mana yanje Rurema Allah, Uzomugire umwana Ushimishwa n’ivyo akora, agashimwa n’abantu”."},{"id":7,"translation":"Ni ho rero Imana Allah Yahamagara Iti: “Ewe Zakariya! Twebwe Allah, ni ukuri Twakwumviye igisabisho cawe, Turaguhaye inkuru nziza y’ihumure ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahya, iryo zina ntitwigeze Turyita umuntu n’umwe aho hambere ngo abe mazina yiwe”."},{"id":8,"translation":"Zakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”."},{"id":9,"translation":"Umumalayika yishuye Zakariya ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Irema rya Yahya riroroshe cane kuri Jewe. Ni ukuri, Naranakuremye wewe imbere y’irema rya Yahya kandi utari bwabeho””."},{"id":10,"translation":"Zakariya yashotse avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira rero ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yamaze gusama!”. Imana Allah Yamubwiye Iti: “Ikimenyetso Ndakugiriye, ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu mu kiringo c’amajoro atatu n’imirango yayo, bidaturutse ku ndwara”."},{"id":11,"translation":"Ni ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”."},{"id":12,"translation":"Yahya amaze kuvuka akagera mu bigero, Imana Allah yamutegetse Iti: “Ewe Yahya! Fata nkama Igitabu ca Tawurati, ugitahure wongere ukigendere”. Twebwe Allah, Twaranamuhaye kuva akiri umwana muto, uburyo bwiza bwo gutahura ingingo no kuzishira mu ngiro;"},{"id":13,"translation":"Tumuha kugira impuhwe, igikundiro n’umutima wejejwe, kandi yari umugororotsi agamburukira Imana Allah;"},{"id":14,"translation":"Yarubaha akubahiriza abavyeyi biwe, ntiyari n’umuntu w’akanyaro, w’intumva."},{"id":15,"translation":"Yahya rero arakagira amahoro y’Imana Allah ku musi avuka, no ku musi yapfuye, no ku musi yazutse agasubizwa ubuzima!"},{"id":16,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu inkuru ya Mariyamu iri muri Qor’ani, igihe yaja kure y’umuryango wiwe, amaja mu buseruko bw’aho bari;"},{"id":17,"translation":"Araheza ariherera ahantu ata n’umwe amubona, Turaheza Twebwe Allah, Tumurungikira umumalayika Jibrili, maze amwiyereka yihinduye mw’ishusho ry’umuntu bwite;"},{"id":18,"translation":"Ni ho Mariyamu yaca avuga amwiyama ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndikinze kuri Nyenimpuhwe Allah, Ikunkingire ko wongeramira niwaba uri umugororotsi ugamburukira Imana Allah”."},{"id":19,"translation":"Umumalayika Jibrili ni ho yimenyekanisha akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi intumwa warungikiwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ndaguhe umwana yejejwe umutima”."},{"id":20,"translation":"Mariyamu araheza aritangaza abwira Jibrili ati: “Vyoshoboka gute ko nogira umwana mu gihe ata muntu n’umwe arankorako mu gushingirwa, kandi ntigeze mba n’umushurashuzi!”."},{"id":21,"translation":"Jibrili amwishura ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Ukuguha umwana, kiroroshe cane kuri Jewe; kugira nya mwana Tuzonamugire ikimenyetso ku bantu cerekana ubushobozi n'ububasha vyanje Jewe Allah, yongere ahundagazweko impuhwe zacu, abere n’impuhwe abantu”. Iryo vuka rya Isa mwene Mariyamu rero, ryaramaze kwandikwa mu vyagezwe, ritegerezwa kuba nta gisivya”."},{"id":22,"translation":"Ni ho rero Jibrili yahuha mw’izosi ry’impuzu Mariyamu yari yambaye, maze Mariyamu aca arasama imbanyi, ashoka aja kure y’abantu."},{"id":23,"translation":"Hageze kwibaruka, igise ca ya mbanyi gituma aja kure y’abantu, ahari igiti c’itende, aca avuga n’umubabaro n’akantu ati: “Ewe jewewanje! Ubona iyo mpfuma mpfa imbere y’uno musi, nkaba ikintu cibagiwe kikibagiranwa!”."},{"id":24,"translation":"Jibrili yari hepfo y’aho Mariyamu ari, aca aramuhamagara ati: “Ntiwicwe n’intuntu namba, Imana yawe Rurema Allah Yamaze kugucira umugende w’amazi hambavu yawe;"},{"id":25,"translation":"Nyiganza rero ico gishitsi c’itende, giheze kigukororere itende zihiye zoroshe;"},{"id":26,"translation":"Uheze urye kuri nya tende, unywe no ku mazi y’uwo mugende, maze utekane ku mutima n’ikibondo cawe. Nihagira uwo ubona mu bantu, akakubaza ku vyagushikiye, uraheza umwishure uti: “Jewe mu vy’ukuri, niyemeje kuri Nyenimpuhwe Allah kwinumira[3]; kubera ivyo rero, kuri uno musi simvugisha umuntu n’umwe””.","footnotes":"[3] Ico gihe ukunuma, umuntu avyiyemeje, kwari mu bikorwa vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Iryo bwirizwa ryarakuwe mu mabwirizwa yahawe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":27,"translation":"Ni ho Mariyamu yagaruka ku bantu biwe ateruye umwana. Bagize ngo baramubonye, bihaye akamo bamubwira bati: “Ewe Mariyamu! Ni ukuri, wadukanye ikintu c’irementanya ritabaho!;"},{"id":28,"translation":"Ewe mushiki w’umweranda Haruna, so wawe ntiyigeze aba umuntu w’ingeso mbi zo gushurashura, eka na nyoko nyene ntiyigeze aba umushurashuzi”."},{"id":29,"translation":"Mariyamu yaberetse n’ukuboko ati: “Nimubaze uyu mwana nteruye!”. Na bo baca bamwishura bamwiyamiriza bati: “Vyoshoboka gute ko tuvugana n’umwana muto akiri ku bibero aconka!”."},{"id":30,"translation":"Ni ho rero Isa yabishura aconka, ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi Umuja w’Imana Allah, Imana Allah Yageze kumpa Igitabu c’Injili, Ingira n’Intumwa;"},{"id":31,"translation":"Yampaye n’imihezagiro aho nzoba ndi hose, Yongera Indaga gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa mu gihe cose nzoba nkiri muzima;"},{"id":32,"translation":"Ingira umwana yubaha akubahiriza umuvyeyi wiwe, ntiyangize umuntu w’akanyaro, w’intumva;"},{"id":33,"translation":"Ndakagira rero amahoro y’Imana Allah ku musi mvuka, ku musi napfuye no ku musi nazutse ngasubizwa ubuzima”."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo nkuru rero Tukwiganiye ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ryo jambo ry’ukuri abayahudi n’abanaswara bahazanako."},{"id":35,"translation":"Nta ho vyigeze biba ko Imana Allah Yigenera umwana mu biremwa vyayo, nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga. Iyo Imana Allah Ishatse gushira mu ngiro ikintu ico ari co cose mu vyagezwe, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene."},{"id":36,"translation":"Isa mwene Mariyamu yabwiye abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Kubera ivyo rero, nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, iyi ni yo nzira igororotse”."},{"id":37,"translation":"Abahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa."},{"id":38,"translation":"Burya ukwumva n’ukubona kwabo, bizoba bitangaje koko[4] umusi baje iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka! Ahubwo abirenganije kuri uno musi kw’isi, bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.","footnotes":"[4] Ico gihe bazoba bashoboye koko kwumva no kubona; ariko ukwumva n’ukubona, nta co bizobamarira ku musi w’izuka."},{"id":39,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzotorana isi n’ibiri kuri yo, ni no kuri Twebwe Allah ibiremwa vyose bizogaruka kugira Tubihembere ivyo vyakoze."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani, mu vy’ukuri Ibrahimu yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana;"},{"id":42,"translation":"Igihe yabwira se Aazara ati: “Dawe wanje! Ni kuki usenga ibigirwamana bitumva bitanabona, ata n’ikintu na kimwe bikumariye!;"},{"id":43,"translation":"Dawe wanje! Mu vy’ukuri jewe, narahawe n’Imana Allah ubumenyi utigeze uhabwa, ndakwinginze ko wonkurikira nkakurongora mu nzira igororotse;"},{"id":44,"translation":"Dawe wanje! Ntukumvire shetani mu gusenga ibigirwamana; mu vy’ukuri, shetani yaramaze kuba ikigaba kuri Nyenimpuhwe Allah;"},{"id":45,"translation":"Dawe wanje! Mu vy’ukuri, jewe ndafise impungenge ko wopfa ukigarariza, maze ugahanwa na Nyenimpuhwe Allah ku musi w’izuka, gutyo ukaba umugenzi wa shetani mu muriro”."},{"id":46,"translation":"Aazara yishuye Ibrahimu ati: “Burahi! Ubwo urakenyeye wirengagize isengwa ry’imana zanje! Ni ukuri, utavavanuye n’ugutyoza imana zanje, nzokwicisha amabuye, canke ndakwirukane ugende ubutakigaruka, maze ntuzonasubire no kumvugisha”."},{"id":47,"translation":"Ibrahimu yishuye se Aazara ati: “Urakagira amahoro, usimbe imanga! Nzogusabira ku Mana yanje Rurema Allah ko Yokurongora, Ikakugirira n’ikigongwe ku vyaha wakoze. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Yamye Inyumvira mu gihe ndayisavye;"},{"id":48,"translation":"Nzobiyonjororako mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah, mpeze nsabe Imana yanje Rurema Allah, kumbure sinzoreka kwemererwa n’Imana yanje Rurema Allah igisabo ndayisavye”."},{"id":49,"translation":"Igihe rero Ibrahimu abiyonjororako bo hamwe n’ibigirwamana vyabo basenga mu gishingo c’Imana Allah, Twebwe Allah Twaramuhaye umwana yitwa Is-haka, Tumuha n’umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, kandi bompi Twabagize Abavugishwamana."},{"id":50,"translation":"Twaranabahaye ku mpuhwe zacu ingabirano nyinshi, Tubaha no kuyagwa neza mu bantu."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Musa yaratowe n’Imana Allah, yari Intumwa akaba n’Umuvugishwamana."},{"id":52,"translation":"Twebwe Allah, Twarahamagaye Musa ari amaja mu kabande k’umusozi Twuuri wari iburyo bwiwe[5], maze Tumutera iteka ryo kuvugana na Twe Allah ukuri kwamye[6].","footnotes":"[5] Ico gihe yari mu nzira asubira muri Misiri (Egiputa).\n[6] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro n’ubumana bwayo."},{"id":53,"translation":"Twaranahaye Musa ku mpuhwe zacu uwumufasha, maze Tumugirira murumunawe Haruna Umuvugishwamana."},{"id":54,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ismayili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Ismayili yari imvugakuri ishitsa ivyo yiyemeje, yari n’Intumwa akaba n’Umuvugishwamana."},{"id":55,"translation":"Yaranabwiriza n’umuryango wiwe gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa, yari n’umuntu ashimwa n’Imana Allah."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Idrisa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Idrisa yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana."},{"id":57,"translation":"Twaranadugirije Idrisa icubahiro mu kuyagwa neza n’ibiremwa."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[7] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[8] no mu ruvyaro rwa Yakubu[9] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[10].","footnotes":"[7] Nka Ibrahimu mwene Sam mwene Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah).\n[8] Nka Ismayili, Is-haka na Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).\n[9] Ari we batazira Israyeli. Intumwa zimukomokako, ni nka Musa, Haruna, Zakariya, Yahya na Isa mwene Mariyamu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).\n[10] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe."},{"id":59,"translation":"Mu nyuma y’abo rero, haraje abantu b’ibigaba batitwararika gutsimbataza isengesho, bagakurikira ingingo zihuye n’ivyipfuzo vyabo; bitebe bitebuke rero, bazokwibonerako mu muriro wa Jahannamu."},{"id":60,"translation":"Ariko uwuzokwisubirako muri bo akigaya, agaheza akemera agakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo azoba ari mu bantu Imana Allah Yemereye ukwigaya kwabo, bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze;"},{"id":61,"translation":"Bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, ari na Bwo Nyenimpuhwe Allah Yasezeraniye abaja bayo ko bazobwinjira, bakabwemera bataranabubona n’amaso. Mu vy’ukuri, isezerano rya Nyenimpuhwe Allah, ritegerezwa gushika."},{"id":62,"translation":"Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazokwigera bumva amajambo y’imburakimazi (ataroranye), kiretse gusa ijambo ry’indamutso y’amahoro, bazoronswa muri nya Bwami bw’ijuru imfungurwa n’ibinyobwa vyamaho igitondo n’umugoroba, igihe cose babishakiye."},{"id":63,"translation":"Ubwo Bwami bw’ijuru butunganijwe ukwo, ni bwo Bwami Twebwe Allah Twageneye uwo wese mu baja bacu, azoba ari umugamburukiramana."},{"id":64,"translation":"Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti[11]: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo[12] ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe;","footnotes":"[11] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.\n[12] Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose."},{"id":65,"translation":"Ni Yo Mana Rurema w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo. Muvugishwamana! Shishikara rero uyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenga ari Imwe Rudende, maze wihanganire iyumviramana, wewe hamwe n'abagukurikiye. Nta n’umwe rero yokwitiranywa na Yo mu kuntu Imeze, mu bushobozi n'ububasha vyayo no mu mazina n’amatazirano yayo”."},{"id":66,"translation":"Umuntu agarariza agahakana izuka ry’ibiremwa, arinamura akavuga ati: “Burya ninamara gupfa, ni ivy'ukuri ko nzozurwa ngasubira kuba muzima!”."},{"id":67,"translation":"Mbega umuntu w'umugarariji yibagiye ico ari co! Burya ntiyibuka ko Twebwe Allah Twamuremye ubwa mbere kandi atari bwabeho!"},{"id":68,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ndarahiye Jewe Allah kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko abahakana izuka ry’ibiremwa, Twebwe Allah Dutegerezwa kuzobegeraniriza hamwe n’amashetani ku musi w’izuka; hanyuma ni ukuri, Tuzobakumakumira hambavu y’umuriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka!"},{"id":69,"translation":"Hanyuma, ni ukuri Tuzofata mu mugwi wose, uwari intumva karuhariwe kuri Nyenimpuhwe Allah, abe ari we Duherako guhana."},{"id":70,"translation":"Hanyuma ni ukuri, ni Twebwe Allah Tuzi neza abakwiye kwinjira no guhanwa muri nya muriro wa Jahannamu."},{"id":71,"translation":"Bantu! Nta n’umwe muri mwebwe kiretse ko azoca ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro wa Jahannamu, maze arengane canke akorokereyo hisunzwe ibikorwa vyiwe; ivyo bitegerezwa gushika kuko ari ko vyagezwe n’Imana Allah;"},{"id":72,"translation":"Hanyuma Twebwe Allah, Dushoke Turokora abatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baheze barengane amahoro kuri nya kiraro; maze Tureke abirenganije mu kugarariza, batibukire muri nya muriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka."},{"id":73,"translation":"Abantu iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, abagarariji baca babwira abemeramana bati: “Ni uwuhe mugwi hagati yacu na mwe ufise ubushikiro n’ubuteramo vyiza gusumba uwundi!”."},{"id":74,"translation":"Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, bari bifise bikwiye, bakeye cane no mu maso kubasumba."},{"id":75,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Abari mu buhuvyi, Nyenimpuhwe Allah Aratenyenya kubahana, maze bakabugumamwo gushika biboneyeko kw’isi ibihano bagabishijweko; canke bashikiwe n’umuhero w’isi; ico gihe rero, bazomenya neza na neza uwufise ubushikiro bubi cane, akagira n’ingabo ata co zishoboye”."},{"id":76,"translation":"Imana Allah, Irongerereza n’uburongozi abatumbereye inzira y’idini ryayo rigororotse. Kukaba nkako, burya ibikorwa vyiza vyamaho, ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":77,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega waramenye inkuru y’umugarariji Al’Aaswi mwene Waa-ili, yagararije agahakana yivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, maze akinamura akavuga ati: “Ni ukuri, nzohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":78,"translation":"Yoba yararungurutse mu binyegejwe ibiremwa, akabona ko azohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke yoba afise isezerano kuri Nyenimpuhwe Allah ko Azobimuha!"},{"id":79,"translation":"Eka nateshwe ate, si nk'uko avyibwira. Twebwe Allah, Tuzokwandika ivyo avuga mu kurementaniriza Imana Allah, Duheze Tumwongerereze ibihano vy’ubwoko bwose mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":80,"translation":"Maze Dusubire ku matungo n’abana yiratira, aheze aze iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko."},{"id":81,"translation":"Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, kugira ngo bibakingire bibatere n’iteka."},{"id":82,"translation":"Eka nibateshwe bate, si nk'uko bavyibwira, ibigirwamana basenga bizobihakana vyiyamirize n’isengwa ryavyo, maze bibihinduke bibagirize."},{"id":83,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega mu vy’ukuri, ntiwabonye ko Twebwe Allah Dushuhurira amashetani ku bagarariji kugira abandanye kubahubisha!"},{"id":84,"translation":"Ntiwihutire rero kubasabira ibihano vyo kw’isi, mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turabaharurira imyaka bamaze n’ibikorwa bakora, nta na kimwe Twirengagije muri vyo."},{"id":85,"translation":"Umusi rero Twegeranirije abagamburukiramana kwa Nyenimpuhwe Allah bubashwe, bari mu migwimigwi;"},{"id":86,"translation":"Tugashorera n’abagarariji mu muriro wa Jahannamu bagenda n’ibirenge bishwe n’inyota;"},{"id":87,"translation":"Abagarariji ntibazogira n’umwe bavugira mu biremwa, ariko uwuzogira uburenganzira bwo kugira uwo asabiye, ni uwuzoba afise isezerano rya Nyenimpuhwe Allah mu Ntumwa n’abemeramana ryo kuvugira abandi."},{"id":88,"translation":"Abagarariji baranavuze ko Nyenimpuhwe Allah Yigeneye umwana."},{"id":89,"translation":"Bantu muvuga ko Imana Allah Yigeneye umwana! Ni ukuri, mwaradukanye ikintu kibi cane kuri iyo mvugo;"},{"id":90,"translation":"Ku bubi bw’iryo jambo, amajuru ahakwa gusaduka, n’isi ihakwa gusatagurika, n’imisozi ihakwa gusenyagurika ikayoka;"},{"id":91,"translation":"Ku gushavuzwa n’iyomekera ry’umwana kuri Nyenimpuhwe Allah."},{"id":92,"translation":"Ntibikabe rero ko Nyenimpuhwe Allah Yigenera umwana."},{"id":93,"translation":"Ibiremwa biri mu majuru mu bamalayika, n’ibiremwa biri kw’isi mu bantu n’amajini, vyose bizosubira kuri Nyenimpuhwe Allah, ari abaja bicisha bugufi kuri Yo."},{"id":94,"translation":"Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze guharura ibiremwa vyayo ata kwihenda, Iraheza Iramenya n’igitigiri cavyo;"},{"id":95,"translation":"Kandi umwe wese mu biremwa, azoza ku Mana Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko."},{"id":96,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Nyenimpuhwe Allah Azobaha gukundwa n’ibiremwa."},{"id":97,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani mu rurimi rwawe rw’icarabu; kugira uyikoreshe mu gushikiriza inkuru nziza ihumuriza abagamburukiramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, no mu kugabisha abantu b’inshirwarimenetse mu bigaba ku bihano vy’Imana Allah."},{"id":98,"translation":"Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, hari n’umwe ubona muri bo yasigaye, canke ngo wumve n’ijwi ryabo[13]!","footnotes":"[13] Iyi Aayah irihaniza abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko Imana Allah Ishobora kubahonya mu gihe borendegera mu bugarariji bwabo."}]},{"id":20,"verses":[{"id":1,"translation":"Twaa Haa[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Qor’ani kugira ngo ikubere amananiza mu vyo ukora;"},{"id":3,"translation":"Ariko Twayikumanuriye kugira ibe inyigisho n’urwibutso ku wutinya ibihano vy’Imana Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":4,"translation":"Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Allah Yaremye isi n’amajuru ahanitse mu kirere;"},{"id":5,"translation":"Nyenimpuhwe Allah Ahangamiye hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwiwe \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n'icubahiro ciwe."},{"id":6,"translation":"Ni We Rugaba Agaba Akaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, hamwe n’ibiri mu kuzimu."},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwaserura ijambo canke ukongorera, uramenya ko Imana Allah ata co Itazi; ni ukuri, Irazi neza ibiri mw’ibanga n’ibihishije mu mishaha."},{"id":8,"translation":"Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru ya Musa mwene Amrani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yava muri Madiyani agana muri Misiri!"},{"id":10,"translation":"Igihe yabona umucanwa waka mw’ijoro, agaca abwira umuryango wiwe bari kumwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa waka, hari n’aho nobazanira igishirira mukota, canke nkahasanga umuntu yotuzimurura akatwereka inzira”."},{"id":11,"translation":"Musa amaze gushika aho yabonye nya mucanwa, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Ewe Musa!"},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Jewe Imana yawe Rurema Allah, enda nyabuna rero, kura ibirato vyawe wambaye; mu vy’ukuri, aha uri mu kabande “Twuwa” gahezagiwe;"},{"id":13,"translation":"Jewe Allah Nagutoye kuba Intumwa, umviriza rero Ndaguhishurire;"},{"id":14,"translation":"Mu vy’ukuri ni Jewe Allah, ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe, nyiyegereze rero mu vyo ukora vyose unansenge utambangikanya, wongere utsimbataze isengesho mu kuninahaza no mu kuntazira;"},{"id":15,"translation":"Mu vy’ukuri, isango ry’umuhero w’isi nta nkeka ko vuba bwango rigiye gushika; Narigize ibanga ryanje gusa, aho ata kiremwa kizi igihe nya sango rizogererako, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze kw’isi;"},{"id":16,"translation":"Musa! Ntuzobuzwe kwemera isango ry’umuhero w’isi, n’uwutemera ko iryo sango ribaho ngo aryitegurire, agahitamwo gukurikira ivyipfuzo vyiwe, agahona;"},{"id":17,"translation":"Mbega Musa! Ico witwaje mu kuryo kwawe, ni igiki?”."},{"id":18,"translation":"Musa yishura ati: “Ni inkoni yanje nishimikiza, nkayikoresha no mu kwahirira ubwatsi intama zanje, ndanayikoresha no mu bindi ngirakamaro”."},{"id":19,"translation":"Imana Allah Ibwira Musa Iti: “Musa! Terera hasi iyo nkoni”;"},{"id":20,"translation":"Musa aca aterera hasi ya nkoni maze ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye nya nzoka, yabaye nk’uwuyihunga;"},{"id":21,"translation":"Imana Allah Ica Imubwira Iti: “Tora iyo nzoka, kandi ntutinye kuyitora, Twebwe Allah Turayihindura isubire kuba inkoni ukuri kwamye;"},{"id":22,"translation":"Vyongeye, shira ikiganza cawe mu kwaha, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe; ico kikaba ari ikindi gitangaro;"},{"id":23,"translation":"Ivyo vyose Twabigize kugira Tukwereke bimwe mu bitangaro vyacu bihambaye, vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri;"},{"id":24,"translation":"Genda rero kwa Firawuni umurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji”."},{"id":25,"translation":"Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyagurira igikiriza canje mu kwihangana;"},{"id":26,"translation":"Wongere Unyorohereze iki gikorwa;"},{"id":27,"translation":"Umpe n’ubushobozi bwo gutomora;"},{"id":28,"translation":"Kugira abo Undungitseko batahure amajambo yanje;"},{"id":29,"translation":"Ndagusavye Ungirire umufasha mu muryango wanje;"},{"id":30,"translation":"Haruna murumunanje;"},{"id":31,"translation":"Gutyo Umunshigikize mu kuntera intege, amfate mu mugongo;"},{"id":32,"translation":"Umugire uwo dufatanije mu butumwa no kubushikiriza;"},{"id":33,"translation":"Kugira jewe na we dushishikare kukuninahaza cane;"},{"id":34,"translation":"Twongere twibuke kwama tugushimagiza kenshi;"},{"id":35,"translation":"Mu vy’ukuri, Wewe Wamye Uri Nyenukubona, ivyo dukora vyose Urabibona”."},{"id":36,"translation":"Imana Allah Yavuze Iti: “Musa! Ni ukuri wamaze kwemererwa ibisabo vyawe;"},{"id":37,"translation":"Kandi n’imbere y’ivyo bisabo Tukwemereye, ni ukuri Twaraguhaye izindi nema, igihe wari uruhinja Tukagukiza ububisha bwa Firawuni;"},{"id":38,"translation":"Igihe Twebwe Allah Twereka nyoko wawe;"},{"id":39,"translation":"Ko amaze kukwibaruka yogushira mw’isandugu, maze agaterera nya sandugu mu ruzi rwa Nili, nya ruzi rugaheza rukaguta ku nkengera zarwo, kugira umwansi wanje akaba n’umwansi wawe Firawuni agutore. Twaranaguhaye igikundiro maze ukundwa n’abantu, kugira urererwe aho Tugushinze amaso Tukubungabunge[2]”.","footnotes":"[2] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ifise amaso mu buryo buberanye n'icubahiro cayo."},{"id":40,"translation":"Twaranaguhaye inema mu kugushinga mushikawe agenda akurikirana isandugu washizwemwo, araheza abwira abagutoye ati: “Mbega mwonkundira nkabereka umuvyeyi yomwitaho, akamurera, akanamubonkereza!”. Gutyo Tubona kugusubiza kwa nyoko wawe umaze gushika mu kirimba kwa Firawuni, kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutakubona. Warishe n’umuntu w’Umunyagiputa ku mpanuka, Turaheza Tugukiza kwicwa n’agahinda ko gutinya kwihora ukicwa, Turanakugerageza igeragezwa rikomeye, maze ku gutinya kwicwa uja mu bantu ba Madiyani, uraheza ugumayo imyaka n’iyindi, hanyuma ni ho wava i Madiyani ugaruka kw’isango ryagezwe n’Imana Allah;"},{"id":41,"translation":"Ni ukwo rero Naguteguye kugira ube Intumwa yanje."},{"id":42,"translation":"Musa! Genda rero wewe hamwe na murumunawe Haruna, mugende mwitwaje ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’ubutumwa bwanyu, kandi ntimuhengeshanye kuninahaza no kuntazira;"},{"id":43,"translation":"Nimugende kwa Firawuni uko muri babiri, mumurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji ararenza;"},{"id":44,"translation":"Maze mumubwire mu majambo yoroshe; hari n’aho yokwikebuka canke agatinya Imana yiwe Rurema Allah\"."},{"id":45,"translation":"Musa na Haruna baraheza bishura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, turafise impungenge n’ubwoba ko Firawuni atwitanga akaduhana, canke akiguburiza agahakana ukuri amenya”."},{"id":46,"translation":"Imana Allah Ica Ibwira Musa na Haruna Iti: “Ntimutinye Firawuni namba; mu vy’ukuri, Jewe Allah Ndi kumwe na mwe, Ndumva ivyo muvuga kandi Ndabona n’ivyo mukora;"},{"id":47,"translation":"Nimuje kwa Firawuni muheze mumubwire muti: “Twebwe Twempi turi Intumwa z’Imana yawe Rurema Allah zarungitswe kuri wewe, ko woha Bene Israyeli ubwigenge, kandi ntukabacure bufuni na buhoro; ni ukuri, twaje tukuzaniye igitangaro kivuye ku Mana yawe Rurema Allah cerekana ukuri kwacu, harakagira amahoro yo kudahanwa n’Imana Allah uwuzokurikira uburongozi bwayo;"},{"id":48,"translation":"Ni ukuri, twebwe twarahishuriwe n’Imana Allah ko Iha ibihano vyayo uwuzohakana akirengagiza amabwirizwa yayo””."},{"id":49,"translation":"Firawuni araheza ababaza n’agasuzuguro n'akantu ati: “Musa! Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah, ni nde?”;"},{"id":50,"translation":"Musa yishura Firawuni ati: “Imana yacu Rurema Allah, Yahaye ikintu ico ari co cose indemo nziza ikibereye, Iraheza Irongora ikiremwa ico ari co cose ukuntu cibeshaho”."},{"id":51,"translation":"Firawuni abaza Musa ku mvo zo kumuhaririza ati: “Mbega none imigwi y’abantu bo hambere yacu badutanze mu bugarariji, uyivuzeko iki?”."},{"id":52,"translation":"Musa arishura Firawuni ati: “Ubumenyi bw’ivyakozwe n’abo hambere yawe, bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo, Imana yanje Rurema Allah ntiyihenda canke ngo Yibagire gushira mu ngiro ivyagezwe”."},{"id":53,"translation":"Ni Yo Yabaremeye isi ishashe kugira muyibeko vyoroshe, Ibacira inzira z’uruja n’uruza kuri nya si, Ituma hagwa n’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Twebwe Allah Turaheza Tumeresha ibiterwa n'ivyimeza vy’ubwoko butandukanye hakoreshejwe amazi ya nya mvura."},{"id":54,"translation":"Bantu! Nimufungure rero mu vyiza bimera kw’isi, muheze muragire n’ibitungwa vyanyu ahari ubwatsi. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abanyabwenge babushitse[3], batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakayisenga ari Imwe Rudende.","footnotes":"[3] Abanyabwenge babushitse, ni abantu bafise ubwenge ndemanwa butuma barangwa n’ingeso nziza bagakora n’ivyiza."},{"id":55,"translation":"Bantu! Ni mw’ivu Twabaremye, ni na ryo nyene Tuzobasubizamwo mumaze gupfa, ni na ryo nyene kandi Tuzobazuramwo ku musi w’izuka kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":56,"translation":"Ni ukuri, Twareretse Firawuni ivyemezo n’ibitangaro vyacu vyose vyerekana ukuri kwa Musa, maze arabihakana yivuye inyuma, aranka no kwumviriza ukuri."},{"id":57,"translation":"Ni ho rero Firawuni yaheza akavuga ati: “Mbega Musa! Karashize ingani uze utwomore, udukure mu zacu ukoresheje ubukonikoni bwawe!”."},{"id":58,"translation":"Namba ari ubukonikoni bwobwo, dutegerezwa kuzana ubukonikoni nk’ubwo watuzaniye; gena rero isango nyezina tuzohurirako, maze ntihagire n’umwe asiba kuri nya sango, duheze duhurire ahantu abantu bashobora gushika ata wukumiriwe."},{"id":59,"translation":"Musa araheza abwira Firawuni ati: “Isango ryo guhurirako, ni ku musi w’ihimbazwa ry’ibirori, igihe abantu bazoba bambaye bakaberwa, bakazokorana mu gitondo izuba riva, bavuye mu mihingo yose”."},{"id":60,"translation":"Maze Firawuni agenza umugongo mu kwirengagiza ukuri yashikirijwe na Musa, araheza arararika abakonikoni biwe, hanyuma aritaba nya sango."},{"id":61,"translation":"Ni ho Musa yabwira ba bakonikoni ba Firawuni abahanura ati: “Muragabe, ntimurementanirize Imana Allah, kuko Yobarandurana n’imizi mu kubahana, kandi ni ukuri yarahuvye uwurementaniriza Imana Allah”."},{"id":62,"translation":"Ba bakonikoni baraheza rero barikebukana bahazana mw’ibanga nta ngere;"},{"id":63,"translation":"Bavuga bati: “Nta nkeka ko Musa na Haruna bompi ari abakonikoni bashaka kubomora mu gihugu canyu bakoresheje ubukonikoni, maze bazimanganye uburyo mwahora mukoresha mu kuroga;"},{"id":64,"translation":"Nimwegeranye rero inguvu z’urwenge rwanyu, hanyuma mwunge urunani rw’intamenwa, muze muri umugwi umwe, muheze mutererere hasi rimwe ibikoresho vy’ubukonikoni mufise mu minwe, kandi kuri uno musi uwushika ku ntsinzi, ni uwunesha uwundi”."},{"id":65,"translation":"Ni ho rero ba bakonikoni bavuga bati: “Ewe Musa! Urashobora gutangura ugaterera hasi inkoni yawe, canke twebwe dutangure guterera hasi ivyo dufise”."},{"id":66,"translation":"Musa yabishuye ati: “Ahubwo mwebwe nimutangure”. Ni ho rero baterera hasi imizana n’inkoni vyabo. Ku kubera nya bukonikoni bwabo, Musa yarahunitswe ku buryo abona ivyo batereye hasi nk’aho ari inzoka zigendagenda;"},{"id":67,"translation":"Maze Musa atekerwa n’ubwoba;"},{"id":68,"translation":"Ni ho Twebwe Allah Twabwira Musa Duti: “Ntugire ubwoba na gato, mu vy’ukuri ni wewe utegerezwa kubanesha;"},{"id":69,"translation":"Terera hasi iyo nkoni ufise mu kuboko kwawe kw’iburyo, iraheza imiragure imizana n’inkoni batereye hasi; mu vy’ukuri ivyo batereye hasi, nta kirimwo kiretse ko ari urwenge rwo guhunika abantu, kandi umukonikoni aho azanana hose ntashobora gushika ku ntsinzi”."},{"id":70,"translation":"Ni ho rero Musa yaterera nya nkoni hasi, ya nkoni ica iramiragura nya mizana n’inkoni vya ba bakonikoni, gutyo aba aratsinze. Ba bakonikoni baciye bubama, maze bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema ya Musa na Haruna, kuko ivyo twiboneye n’amaso, si ubukonikoni namba”."},{"id":71,"translation":"Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije[4]; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.","footnotes":"[4] Ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, no ku rundi ruhande ukwo nyene."},{"id":72,"translation":"Ba bakonikoni baca babwira Firawuni bati: “Ntidushobora guhitamwo kugukurikira ngo tureke kwemera ivyemezo vyerekana ukuri kwa Musa no kwemera Imana Allah Yaturemye. Gira ivyo wipfuza mu kuduhana, mu vy’ukuri wewe ububasha bwawe udufiseko, ni ubwo mu buzima bwo kw’isi, ibihano vyawe biherera ng’aha kw’isi;"},{"id":73,"translation":"Mu vy’ukuri, twebwe twemeye Imana yacu Rurema Allah n’Intumwa Musa, twubahirije n’amabwirizwa yayo, kugira Itubabarire ivyaha vyacu n’ibicumuro vy’ubukonikoni waduhatiyeko gukora mu guhakana Musa. Burya Imana Allah, ni Yo Nyenindishi nziza kugusumba, Nyenibihano vyamaho ku bigaba;"},{"id":74,"translation":"Kukaba nkako, uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayigararije, azosanga yategekenirijwe ibihano mu muriro wa Jahannamu, ntazopfa muri nya muriro ngo awuruhuke, eka ntazonawubamwo ubuzima buhimbaye;"},{"id":75,"translation":"Nayo uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayemeye, akaba yaranakoze n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu bategekanirijwe ivyubahiro vyo hejuru;"},{"id":76,"translation":"Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, iyo ni na yo ndishi rero y’uwejeje umutima wiwe, akiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya gushika gupfa”."},{"id":77,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahishuriye Musa Tumubwira Duti: “Kinjura muri iri joro, ugende ujanye abaja banje muri Bene Israyeli ubakure muri Misiri, maze ubacire inzira yumutse mw’ibahari, ntutinye na gato ko Firawuni n’ingabo ziwe bohava bagufata, eka ntunatinye ko wotwarwa ugasoma nturi”."},{"id":78,"translation":"Ni ho rero Musa yajana Bene Israyeli mw’ijoro, abacira inzira yumutse mw’ibahari, maze Firawuni amuja mu nyuma ari kumwe n’ingabo ziwe, baraheza batwarwa n’ibahari ku rugero ruzwi gusa n’Imana Allah, maze barasoma nturi bose, Musa n’abo bari kumwe baraheza barajabuka amahoro."},{"id":79,"translation":"Firawuni yarahubishije abantu biwe mu kubaryohereza ubugarariji, eka ntiyanabarongoye namba mu nzira igororotse."},{"id":80,"translation":"Emwe Bene Israyeli! Ni ukuri, nimwibuke igihe Twebwe Allah Tubakura kw’izosi umwansi wanyu Firawuni, Tukabaha n’isango ryo kubamanurira Tawurati amaja iburyo bw’akabande “Twuwa”, Tukabamanurira “Manna[5]” hamwe na “Salwa[6]” mufungura igihe mwari mu bihano vyo kwangazwa.","footnotes":"[5] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk'ubuki.\n[6] Inyama z’ubwoko bwinyoni."},{"id":81,"translation":"Nimurye rero mu vyiza birekuwe Twabaronkeje, kandi ntimuzokwirenganye mu gutandukira ibitarekuwe, mwohava mushikirwa n’ishavu ryanje Jewe Allah, kandi uwushikiwe n’ishavu ryanje, ni ukuri aba ahonye, ahomvye n’uruhombo nya ruhombo."},{"id":82,"translation":"Mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndi Nyenimbabazinyinshi ku wigaye ivyaha, agaheza akanyemera agakora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma agatumbera inzira igororotse gushika gupfa."},{"id":83,"translation":"Mbega Musa! Ni igiki catumye usiga abantu bawe inyuma, ukihutira kuza mu kabande ka “Twuwa”?"},{"id":84,"translation":"Musa yishuye Imana Allah ati: “Abantu banje bari inyuma yanje baraje. Nayo jewe nihutiye kuza iwawe Mana yanje Rurema Allah, kugira ndagushimishe”."},{"id":85,"translation":"Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Mu vy’ukuri rero, Twebwe Allah mu nyuma zawe Twagerageje abantu bawe mu gusenga inyana y’inka, uwabahubishije akaba ari Saamiriy[7]”.","footnotes":"[7] Yitwa Musa Al-Saamiriy."},{"id":86,"translation":"Ni ho rero Musa yasubira inyuma ku bantu biwe ishavu riniga, atuntujwe n’ivyo bakoze, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Imana yanyu Rurema Allah, ntiyabahaye isango ryiza ryo kubamanurira Tawurati, mwoba mwabonye ko nya sango riri kure, canke mwashatse ko Imana yanyu Rurema Allah Ibashavurira, muraheza muhitamwo guca kubiri n’isezerano ryanje, muca musenga inyana y’inka!”."},{"id":87,"translation":"Abantu ba Musa bamwishuye bati: “Ntitwaciye kubiri n’isezerano ryawe tubishaka, ariko twakorewe ivyaha vy’ibisharizo vy’abantu ba Firawuni bihinguwe mu nzahabu[8], maze dutegekwa na Saamiriy guterera nya nzahabu mu kinogo c’umuriro ngo tugirirwe ikigongwe n’Imana Allah, ni nk’ukwo nyene rero Saamiriy yataye muri nya kinogo urushi rw’ivu ry’aho ifarasi ya Jibrili (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yahonyoje ikinono”.","footnotes":"[8] Ni ibisharizo bihinguwe mu nzahabu, abakenyezi muri Bene Israyeli bari batiye ku bantu ba Firawuni ngo na bo bashaze ku musi w’ibirori, igihe Musa n’abarozi ba Firawuni bahurira hamwe. Nya bisharizo rero, baciye bagenda babitwaye."},{"id":88,"translation":"Ni ukwo rero Saamiriy yabumbiye Bene Israyeli muri nya nzahabu igishusho c’inyana y’inka kimoka nk’inka. Saamiriy n’abamukurikiye babwiye abantu ba Musa bati: “Iyi, ni yo mana yanyu, ikaba n’imana ya Musa, Musa yasamaye ayisiga ng’aha!”."},{"id":89,"translation":"Mbega abasenze igishusho c’inyana y’inka, ntibabona ko nya gishusho kitari gishoboye kubavugisha, canke ngo kibishure ivyo bakibajije, canke ko ata n’ico cobungura canke ngo kibicire!"},{"id":90,"translation":"Ni ukuri, Haruna yarabwiye Bene Israyeli imbere yuko Musa agaruka kubaraba, ati: “Emwe bantu banje! Mu vy’ukuri, mwageragejwe mu gusenga iki gishusho c'inyana y’inka, kugira hamenyekane umwemeramana canke umugarariji muri mwebwe! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Nyenimbabazi ku batoni bayo, enda nyabuna rero, nimunkurikire mu vyo ndabararikira, maze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah”."},{"id":91,"translation":"Bene Israyeli bishuye Haruna bati: “Ntiturota tureka gusenga igishusho c'inyana y’inka gushika Musa agarutse aha turi”."},{"id":92,"translation":"Musa amaze kugaruka, yabwiye murumunawe Haruna, ati: “Igihe wabona ko bahuvye, ni igiki cagutumye ugumana na bo;"},{"id":93,"translation":"Ukareka kunkurikira? Warenze n'ibigirankana kw’itegeko ryo kunsigarira mu kibanza c’ubuhanuzi”."},{"id":94,"translation":"Ni ho Musa yafata murumunawe Haruna mu kanigo, maze amukwega ubwanwa n’umushatsi, Haruna aca amubwira ati: “Mwana wa mama! Reka kunkwega ubwanwa n’umushatsi; ni ukuri, jewe natinye ko mu gihe nogukurikira wombwira uti: “Bene Israyeli wabaciyemwo imigwi, ntiwaheza ngo wubahirize impanuro naguhaye yo kubacungera!””."},{"id":95,"translation":"Musa yabajije Saamiriy ati: “Mbega Saamiriy! Wafashwe n’igiki catumye ugira ivyo wagize?”."},{"id":96,"translation":"Saamiriy yishuye Musa yiregura, ati: “Tumaze kujabuka ibahari, inyuma y’aho Firawuni n’ingabo ziwe basomeye nturi, nabonye ivyo batabonye; nabonye Jibrili ari kw’ifarasi, maze nca mfata urushi rw’ivu ry’aho ifarasi yiwe yahonyoje ikinono, iryo vu rero ni ryo natereye ku nzahabu zayongejwe mu kinogo c’umuriro, ndaheza mbumba igishusho c’inyana y’inka, kimoka nk’inka. Ukwo ni kwo nohejwe n’umutima wanje mubi”."},{"id":97,"translation":"Musa yabwiye Saamiriy ati: “Va mu bandi rero ugende, mu vy’ukuri wewe, uzobaho uri igicibwa mu bantu, ubwira uwo muhuye wese uti: “Nta we nkorako, ntihagire n’uwunkorako!”. Kandi ni ukuri, urafise isango ntarengwa wagenewe ryo guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ehe raba n’iherezo ry’imana yawe washishikaye gusenga, ni ukuri dutegerezwa kuyiturira, hanyuma tunyanyagize umunyota wayo mu ruzi, maze ntihagire n’udusigarira twayo dusigara."},{"id":98,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu ni Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ubumenyi bwayo bukikuje ikintu ico ari co cose."},{"id":99,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakwiganiye inkuru zo muri kahise ka Musa na Firawuni hamwe n’abantu babo - Tukwiganira n’inkuru yo muri kahise k’ab’aho hambere yawe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranaguhaye Qor’ani kugira ibe urwibutso ku bibuka bakikebuka."},{"id":100,"translation":"Uwuzokwirengagiza rero iyi Qor’ani, ntaheze ngo ayemere anayigendere, mu vy’ukuri, azoza ku musi w’izuka yiremetse umutwaro w’ivyaha amahanga;"},{"id":101,"translation":"Ari mu bazokwama mu bihano ibihe bidahera; kuri nya musi w’izuka, bazokwiremeka umutwaro mubi cane w’ivyaha;"},{"id":102,"translation":"Umusi havugijwe inzamba igira kabiri y’izuka ry’ibiremwa, maze Tugashorera abagarariji kuri nya musi birabura, amaso na yo yatukuye kubera intureka z’uwo musi;"},{"id":103,"translation":"Bongorerana hagati yabo bati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse imisi cumi gusa”."},{"id":104,"translation":"Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bazovuga bongorerana igihe uwutahura muri bo gusumba abandi azovuga ati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse umusi umwe gusa”, mu kwerekana ko ubuzima bwo kw’isi ari bugufi cane ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":105,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abantu warungitsweko barakubaza ku vyerekeye impera n’imperuka y’imisozi! Bishure uti: “Imana yanje Rurema Allah Izoyivungagura, Iyisanze;"},{"id":106,"translation":"Maze Isige isi iringaniye, inyerera nk’ibuye ry’isare, ata kinyabuzima na kimwe kiriko;"},{"id":107,"translation":"Nta na hamwe kuri nya si, uzobona hagoramye, eka nta n’aho uzobona hatareha n’ahandi”."},{"id":108,"translation":"Kuri uwo musi, abantu bazokurikira ijwi ry’umuraritsi ararikira ibiremwa kuja kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa; nta kiremwa na kimwe kitazokwumva iryo rarika, amajwi yose azoceceka ku kwicisha bugufi kuri Nyenimpuhwe Allah, nta co uzokwumva kiretse ubwongoshwe gusa."},{"id":109,"translation":"Kuri uwo musi, ivugira ry’umuntu ku caha yakoze, nta co rizoba rimaze kiretse ivugira ry’uwahawe uburenganzira na Nyenimpuhwe Allah, maze Agashima ivugira ryiwe[9].","footnotes":"[9] Ukuvugira uwundi ku musi w’izuka ku vyaha yakoze, kuzorekurirwa gusa umwemeramana vy’ukuri."},{"id":110,"translation":"Imana Allah Irazi neza inkuru z’ibiremwa vyose, kahise na kubu mu buzima bwo kw’isi, na kazoza kavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta n’umwe rero mu biremwa ashoboye guhetura ubumenyi bw’Imana Allah n’ukuntu Iteye."},{"id":111,"translation":"Ibiremwa bizokwicisha bugufi kuri Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ni ukuri kuri uwo musi, uwiremetse irenganya ry’ibangikanyamana azohahombera koko."},{"id":112,"translation":"Uwo wese rero akoze ibikorwa vyiza bitegetswe, yemera Imana Allah, uyo nta mpungenge kuri we, ntatinye ko yorenganywa mu kwongererezwa ivyaha, eka ntanatinye ko yonagabanirizwa mu ndishi."},{"id":113,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakundishije abemeramana gukora ivyiza Tukihaniza abagarariji kuguma mu bugaba n’ubuhakanyi - Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira abantu bayitahure, Twaranatomoye bikwiye muri Qor’ani uburyo butandukanye bwo kwihaniza kugira batinye mu kwubahiriza amabwiriza y'Imana Allah, canke nya Qor’ani itume bibuka baheze bikebuke."},{"id":114,"translation":"Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri[10]. Ntumwa y’Imana! Ntukihutire rero gusubiramwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa imbere yuko Jibrili aheraheza gusoma; ha kwihutira kuyisubiramwo, uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unyongerereze ubumenyi ku bwo Wampaye”.","footnotes":"[10] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo."},{"id":115,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahanuye Adamu imbere yuko afungura ku camwa, ko atohirahira ngo agifungureko, maze aribagira igihe yoshwa na Ibilisi, nta n’ishaka Twasanze afise ryo kwubahiriza ibwirizwa Twamuhaye."},{"id":116,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”; abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yanse kumwubamira."},{"id":117,"translation":"Ni ho rero Twavuga Duti: “Ewe Adamu! Mu vy’ukuri uyo Ibilisi, ni umwansi wawe, wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa, muramwiyubara rero ntimuzomwumvire namba, ngo ahave abakura mu Bwami bw’ijuru, aho uzocumukura uramutse ubuvuyemwo."},{"id":118,"translation":"Ewe Adamu! Muri ubu Bwami bw’ijuru uzobaho uhiriwe; uzofungura, inzara uzobaza; uzokwambara ku buryo ubwambure bwawe butazogaragara;"},{"id":119,"translation":"Ntuzonanyoterwa muri nya Bwami, eka ntuzokwigera wicwa n’ubushuhe bw’izuba”."},{"id":120,"translation":"Shetani yaroheje Adamu, maze imubwira iti: “Ewe Adamu! Mbega ndakwereke igiti mu gihe wogifungurako, wobaho ubutagipfa, ukaronka n’ubwami budahera?”."},{"id":121,"translation":"Ni ho rero Adamu na Hawa bafungura kuri nya giti babuzwa n’Imana Allah kugifungurako, ubwambure bwabo buca buragaragara, babona bambaye ubusa, baca batangura gukorora amababi y’ibiti vyo mu Bwami bw’ijuru ngo bapfuke ubwambure bwabo bugaragara, Adamu aba aciye kubiri n’ibwirizwa yahawe n’Imana yiwe Rurema Allah, maze arahuba."},{"id":122,"translation":"Mu nyuma ni ho Adamu, Imana yiwe Rurema Allah Yamutora, Iramwumvira ukwigaya kwiwe, Iraheza Iramurongora mu nzira yayo."},{"id":123,"translation":"Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Nimuve mu Bwami bw’ijuru mumanuke kw’isi mwese muri kumwe na Ibilisi, mwebwe na we mwamaze gucika abansi hagati yanyu; nimwashikirwa n’uburongozi buvuye iwanje, uwuzokurikira uburongozi bwanje muri mwebwe, ntazokwigera ahuba kw’isi, eka ntazonagorwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":124,"translation":"Nayo uwuzogenza umugongo mu kwirengagiza uburongozi bwanje, mu vy’ukuri azobaho ubuzima bw’ivyago n’amaganya kw’isi[11], Duheze Tumuzure ku musi w’izuka ari impumyi kuko yirengagije kubona ukuri kw’ivyemezo vyacu akiri kw’isi”;","footnotes":"[11] N’aho umuraba wogira ngo abayeho yorohewe, ahimbawe."},{"id":125,"translation":"Azoheza avuge ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ni kuki Wanzuye ndi impumyi kandi nkiri kw’isi nahora mbona ukuri kwamye?”."},{"id":126,"translation":"Imana Allah Izomwishura Iti: “Nakuzuye uri impumyi, kuko ivyemezo vyanje vyagushikiriye ukiri kw’isi uravyirengagiza, ntiwavyemera, ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Tukwirengagije kuri uno musi Tukaguta no mu muriro”."},{"id":127,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Tuzohana abirengagije ivyemezo vyacu - Duhana kw’isi uwimonogoje mu butumva, ntaheze ngo yemere ivyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah; ni ukuri, n’ibihano yategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birakaze kandi vyamaho."},{"id":128,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega abantu warungitsweko, ibihano vy’ihonywa ry’imigwi myinshi Twahoneje aho hambere yabo, ntibiratuma batumbera inzira igororotse, kandi baca ahahoze imihana yabo, bakabona n’ibisigarira vya nya bihano! Mu vy’ukuri muri iryo honywa ry’imigwi myinshi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku banyabwenge babushitse."},{"id":129,"translation":"Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri vyari kuba ngombwa ko bahonywa bakiri kw’isi kubera igarariza ryabo."},{"id":130,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga, no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uninahaze Imana yawe Rurema Allah mw’isengesho ryo ku musase mu bihe vy’igicamusi, no mw’isengesho ryo kukirengazuba kugira uhemberwe ivyo bikorwa indishi igushimisha."},{"id":131,"translation":"Kandi ntukarangamize wipfuza kuronka ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji, mu bihendamaso vy’isi bitandukanye kugira Tubibageragerezeko; ibikubeshaho uronkejwe n’Imana yawe Rurema Allah hamwe n’indishi zayo, ni vyo vyiza gusumba ivyo bihendamaso vy’isi, kandi ni na vyo vyamaho."},{"id":132,"translation":"Muvugishwamana! Bwiriza umuryango wawe gusenga, wongere wihanganire kwamizako gusenga; ntitugusavye icotubeshaho, ni Twebwe Allah Tukubeshaho Tukakuronsa n’ivyo ukeneye. Burya iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana."},{"id":133,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abaguhakana bavuze bati: “Ubwo Muhamadi ntiyari gupfuma atuzanira icemezo kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri!”. Mbega ntibashikiriwe na Qor’ani ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yayo!"},{"id":134,"translation":"Iyo Tubahana Tukabahonya imbere yuko Tubarungikira Intumwa Tukanabamanurira Qor’ani, bari kuvuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntiwari kubanza Ukaturungikira Intumwa maze tukayemera, tugakurikira na Aayah n’amabwirizwa yawe, imbere yuko dusuzugurika tugateterezwa n’ibihano vyawe!”."},{"id":135,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana, uti: “Umwe wese muri twebwe na mwe, ararindiriye ikizomushikira kuri ino si, caba ineza canke inabi, nimurindire rero, muzoteba mumenya muri twebwe na mwe abari mu nzira itumbereye n’abagororotsi batumbereye ukuri”."}]},{"id":21,"verses":[{"id":1,"translation":"Iharurirwa ry’abantu ku vyo bakoze vuba bwango rirashika, mu gihe abagarariji bari mu gusamazwa n’ivy’isi, birengagiza iri gabishwa."},{"id":2,"translation":"Nta kintu na kimwe kibashikira kiva ku Mana yabo Rurema Allah muri Qor’ani, ngo kibabere urwibutso, kiretse ko bacumviriza batebura bakagifata minenegwe."},{"id":3,"translation":"Imitima yabo yaragoswe n’ibihendamaso vy’isi bituma batanyurwa na Qor’ani. Ahubwo rero abirenganije mu Bakorayishi, bariherereye kugira ngo bapfundike mu mpisho ico bokora mu kuburagiza abantu kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baraheza bakwiragiza igihuha bati: “Muhamadi si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe. Karashize ingani ngo muje kwumviriza ubukonikoni bwa Qor’ani kandi mubona ko bushikirizwa n’umuntu asanzwe nkamwe!”."},{"id":4,"translation":"Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yabishuye ati: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi ibivugwa mw’ijuru no kw’isi, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana”."},{"id":5,"translation":"Ahubwo rero, abagarariji bahakana bivuye inyuma n'ibigirankana Qor’ani; muri bo, harimwo abavuga ko Qor’ani ari indoto z’uwurazirana ata kuri kurimwo; hakaba n’abandi bavuga ko ahubwo ari amajambo y’irementanya; hari n’abinamura mu kuvuga ko Muhamadi ari umwivuzi w’amazina y’ab’aho hambere; niyaba rero ashaka ko tumwemera, arazana igitangaro gifadika; nk’ibitangaro vyahawe ab’aho hambere yiwe[1].","footnotes":"[1] Nk’ingamiya yahawe Swalehe n’ibitangaro vyahawe Musa na Isa (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah),"},{"id":6,"translation":"Imbere y’abagarariji b’i Makka, nta banyagacimbiri na bamwe bigeze bemera kuko bahawe ibitangaro basavye Intumwa zabo, ahubwo barahakanye bivuye inyuma nya bitangaro, maze Turabahonya. Vyoshoboka gute rero ko abagarariji b’i Makka bokwemera babanje guhabwa ibitangaro!"},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo baba mu bisagara, eka ntibari mu bamalayika namba, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo, nimwaba mutazi ko vyari ukwo."},{"id":8,"translation":"Kandi nya Ntumwa, ntitwaziremye ari ibitumbatumba gusa mu buryo butandukanye n’abantu, ngo ntizikenere gufungura no kunywa, eka ntizanabayeho ibihe bidahera ngo ntizipfe."},{"id":9,"translation":"Hanyuma Twarashiriye mu ngiro nya Ntumwa isezerano ry’intsinzi, Turaheza Turazirokora ziri kumwe n’abo Dushatse mu bazikurikiye, maze Duhonya abimonogoje mu bugarariji."},{"id":10,"translation":"Ni ukuri, Twarabamanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo iteka n’icubahiro canyu kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba mwibuka. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko mwatewe iteka gusumba abandi!"},{"id":11,"translation":"Hari uducimbiri twinshi Twahoneje bene two birenganije mu kugarariza ivyo bazaniwe n’Intumwa zabo, Turaheza mu nyuma zabo Tuhacumbikira abandi bantu."},{"id":12,"translation":"Igihe rero abirenganije muri nya ducimbiri babona ibihano vyacu Twebwe Allah bigiye kubashikira, barataye baromoka, barata barahunga;"},{"id":13,"translation":"Ni ho baca babwirwa ku gahemo bati: “Ntimuhunge namba, nimusubire kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, maze mugaruke mu nyubakwa zanyu mwahora mwiratira, kugira mubazwe ku vyabashikiye”;"},{"id":14,"translation":"Nta nyishu baronse irenga ivyo bakoze bakavuga bati: “Amagogwa arama yemwe! Mu vy’ukuri, twarirenganije mu kugarariza”;"},{"id":15,"translation":"Ntibaretse kuguma bisabira uguhona bihebuye gushika n’aho Tubahonereje Tukabagira nk’igiterwa caranduwe kikumagana, babaye intumbi zibereye aho[2].","footnotes":"[2] Muri iyi Aayah harimwo igabisha rikomeye ku bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko mu gihe bobandanya guhakana iyo Ntumwa, boshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye abantu bo hambere yabo."},{"id":16,"translation":"Twebwe Allah, Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku busa, ata hangiro Tubifiseko, Twabiremye kugira mutahure ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mumenye ko ari Yo mukwiye kwiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende."},{"id":17,"translation":"Iyo Dushaka kwigenera rero ibisamaza; nk’umwana canke umugore, Twari kuvyigenera mu biri iwacu mw’ijuru[3], si muri mwebwe abantu; ntitwari kubigira ukwo ngo Twigenere umwana canke umugore kuko bitabaho;","footnotes":"[3] Mu bamalayika no mu bakenyezi b’akaroruhore bo mu Bwami bw’ijuru “Hururayini”."},{"id":18,"translation":"Ahubwo Dufata ukuri kw’ukwemera Tukakugaragaza, maze ikinyoma c’ubugarariji kigakubitirwa ahabona, kikagenda amazimayongo. Babangikanyamana! Murategekanirijwe ibihano nya bihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku kwitirira Imana Allah ibitayibereye."},{"id":19,"translation":"Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi, kandi n’abamalayika bari ku Mana Allah, ntibagira amanyama ngo bareke kuyiyegereza mu vyo bagira, eka ntibanadebukirwa mu kuyisenga;"},{"id":20,"translation":"Baninahaza Imana Allah ijoro n’umurango, ntibigera baruha canke ngo bagire ubute."},{"id":21,"translation":"Bishoboka gute ko ababangikanyamana bigirira imana zabo bibaziye n'iminwe yabo kw’isi, ata na kimwe zishoboye!"},{"id":22,"translation":"Iyo mu majuru n’isi haba hariyo imana zindi atari Imana Allah, zitunganya ubuzima bw'ibiremwa bibayo, itunganywa rya nya buzima ryari guhungabana. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Nyenubuhangamo mu buryo burengeye cane ivyo abagarariji bayitirira."},{"id":23,"translation":"Imana Allah ntibazwa ku vyo Yageze ku biremwa Ikanabishira mu ngiro[4], mu gihe ibiremwa vyose bizobazwa ku vyo vyakoze.","footnotes":"[4] Ubushobozi n'ububasha vyo gutunganya ubuzima bw'ibiremwa biba mw'ijuru no kw'isi, birakwiye kuba icemezo c'uko Imana Allah Idakwiye kubangikanywa mu kurema no mu gusengwa kwayo."},{"id":24,"translation":"Mbega ababangikanyamana bigiriye imana mu gishingo c’Imana Allah kuko zoba zishoboye kugira ico zimaze canke zishe; zishoboye gutanga ubuzima canke kubwaka! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuzane rero ivyemezo vyerekana ko ibigirwamana ari imana koko zikwiye gusengwa! Nta na kimwe kivyemeza kiri muri iyi Qor’ani nahishuriwe, canke kiri mu Bitabu vyahawe abo hambere yanje”. Ahubwo rero ababangikanyamana basenga ibigirwamana ku bujuju bwo kwigana ivyo batazi, kuko abenshi muri bo ntibazi ukuri; n’iyo bashikirijwe ukuri barakwirengagiza."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa Tugaheza rero Tukayihishurira ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munsenge mutambangikanya."},{"id":26,"translation":"Ababangikanyamana bavuze bati: “Nyenimpuhwe Allah, Yarigeneye umwana mu bamalayika”. Nihaninahazwe Imana Allah mu buryo burengeye cane kwitirirwa umwana, ahubwo abamalayika ni abaja bayo batewe iteka;"},{"id":27,"translation":"Bumvira Imana Allah koko, ntibitanganiza kuvuga kiretse ivyo bategetswe na Yo, kandi nta n’ikintu na kimwe bakora batabanje guhabwa uburenganzira na Yo."},{"id":28,"translation":"Imana Allah, Irazi neza ibikorwa n’abamalayika, muri kahise no muri kazoza kabo. Eka ntibitanganiza kuvugira n’umwe ku vyo yakoze, kiretse uwo Imana Allah Ishimye ko bamuvugira; kandi ku gutinya Imana Allah, barinengesera guca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":29,"translation":"No mu gihe vyoshika mu bamalayika hakagira uwinamura akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi imana mu gishingo c’Imana Allah”, uyo Twoca Tumuha indishi y’umuriro wa Jahannamu. Ni nk’iyo ndishi nyene y’umuriro rero Duha abirenganya bakabangikanya Imana Allah."},{"id":30,"translation":"Mbega abagararije bakabangikanya Imana Allah, ntibaramenya ko mu vy’ukuri amajuru n’isi vyari bifatanye[5], maze Twebwe Allah Turaheza Turabifatanura ku bushobozi n'ububasha vyacu, Duca Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, isi iratotahara, gutyo amazi Tuyagira inkomoko y’ubuzima bw'ikintu ico ari co cose mu binyabuzima! Mbega none abagarariji ntibokwemera ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayisenga batayibangikanya!","footnotes":"[5] Ico gihe nta kirere hagati y’ijuru n’isi cariho ngo hashobore kugwa imvura."},{"id":31,"translation":"Twaremye n’imisozi ishinze imizi nk’imambo mw’isi, kugira nya misozi igumye isi ntihungabanye abayibako; Tubacira n’amayira y’imigenderanire kw’isi, kugira bishire bizane mu kurondera ibibabeshaho, baheze batumbere Imana Imwe Rudende Allah;"},{"id":32,"translation":"N’ijuru ryegereye isi, Twarigize igisenge ata nkingi zigifashe, kandi kirakingiwe. Ntigishobora kugwa, vyongeye nta n’amashetani ashobora kukivogera. Hamwe n’ivyo rero, ntibibuza ko abagarariji birengagiza ivyemezo biri muri nya juru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri vyotuma bemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":33,"translation":"Imana Allah rero, ni na Yo Yaremye ijoro kugira muruhuke umuruho wo ku murango; Irema n’umurango, kugira murondere icobabeshaho; Irema n’izuba kugira ribe ikimenyetso kibamurikira ku murango; Iraheza Irema n’ukwezi kugira kube ikimenyetso caka mw’ijoro. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Aho hambere yawe, nta muntu n’umwe Twahaye kubaho ubuzima bwo kw’isi ata gupfa. Mbega mu gihe wewe wopfa, ni bo rero bobaho ubuzima bwose kw’isi[6]!","footnotes":"[6] Iyi Aayah, ni icemezo c'uko n’Umuvugishwamana Khadwiri (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yapfuye."},{"id":35,"translation":"Zina-kiremwa, ico ari co cose gifise ubuzima kizopfa nta gisivya, n’aho coramba imyaka n’iyindi. Tuzonabagerageza mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa yacu, mu gihe c’amagorwa no mu gihe c’amahirwe mu buzima bwo kw’isi, hanyuma muheze mugaruke iwacu kugira muharurirwe maze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":36,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo abagarariji bakubonye, baraguteburako bati: “Mbega uyu, ni we anebagura imana zanyu!”, kandi na bo bihakana inema za Nyenimpuhwe Allah, bakanagarariza Qor’ani!"},{"id":37,"translation":"Burya kamere y’umuntu, ni uguhutagiza ibintu. Bagarariji! Jewe Allah, bitebe bitebuke, Nzobereka ibihano vyanje, ntimurinde kwihutira gusaba ko vyobashikira[7].","footnotes":"[7] Abakorayishi bihutiye gusaba ibihano ku gahigihigi, Imana Allah Ica Irabagabisha."},{"id":38,"translation":"Abagarariji bihutira gusaba ibihano n’itebura n’akantu bati: “Muhama! Ubona tuzoshikirwa n’ibihano udusezeranira ryari, niwaba wewe n’abagukurikiye muri imvugakuri koko!”."},{"id":39,"translation":"Iyo abo bagarariji bamenya ibihano bibarindiriye igihe ata wuzoshobora kwikingira muri bo umuriro mu maso no mu mugongo, umusi batazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano, ntibari kugarariza, eka mbere ntibari no kwihutira gusaba ko bohanwa."},{"id":40,"translation":"Ahubwo rero, umuhero w’isi uzoshikira abagarariji giturumbuka batawiteguriye, maze bajumararirwe, batekerwe n’ubwoba badashoboye no guhagarika nya bihano; eka ntibazohabwa n’agahengwe ko gutenyenya ngo bigaye canke ngo biregure."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri haragizwe itebura ku Ntumwa zo hambere yawe, maze abatebuye kuri nya Ntumwa bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ko bitobashikira."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abihutira gusaba ko bohanwa, uti: “Nta n’umwe ashoboye kubuza ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe Yoshaka kubahana mw’ijoro canke ku murango, musinziriye canke mukanura”. Ahubwo abagarariji birengagiza Qor’ani yotuma bibuka bakagamburukira Imana yabo Rurema Allah."},{"id":43,"translation":"Mbega none boba bafise imana zoshobora kubakingira ibihano vyacu! Ihibambewe! Izo mana zidashoboye kwirwanako ngo zikingire, zoshobora gute gutabara abazisenga! Kanatsinda na zo nyene ntizizokingirwa namba ibihano vyacu."},{"id":44,"translation":"Ahubwo abagarariji hamwe n’abavyeyi babo, Twabahaye ibihendamaso vy’isi mu matungo n’ibibondo hamwe no kuramba, bituma bihenda ko babihawe ku butore bwabo, gutyo batsimbatara ku bugarariji. Mbega abagarariji, ntibabonye ko Twebwe Allah Dufata isi Tukagabanya inkengera zayo ku kuneshwa kw’abo mu mihingo y’isi[8], ni bo rero botunanira guhana!","footnotes":"[8] Maze abislamu bakigarurira ibihugu vy’ababangikanyamana."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abo warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, ndabagabisha ku bihano nisunze ivyo nahishuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, nayo ibipfamatwi ntivyumva ngo bikurikire ukuri mu gihe bigabishijwe”."},{"id":46,"translation":"Iyo abagarariji bakorwako gato n’ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri bari kumenya iherezo ryabo ribi, bari no kuvuga bihebuye bati: “Amagorwa arama yemwe! Mu vy’ukuri, twebwe twarirenganije mu gusenga ibigirwamana”."},{"id":47,"translation":"Twebwe Allah, Tuzotereka umunzani utunganye wo kugererako ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, nta n’umwe rero azorenganywa ku kintu na kimwe mu vyo yakoze, n’aho coba gito kingana n’urutete rwa Khardal[9] rungana n'urutete rw'ururo, Tuzokimugerera kuri nya munzani maze Tukimuhembere, caba iciza canke ikibi. Ni na Twebwe Allah Dukwiye kuba Ababungabunzi Bahembera ibiremwa ku vyo vyakoze.","footnotes":"[9] Khardal, ni ubwoko bw’ibimera, bifise intete zingana n’iz’uburo."},{"id":48,"translation":"Ni ukuri, Twarahaye Musa na Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) icemezo n’intsinzi ku bansi babo, Tubaha n’Igitabu ca Tawurati gitandukanya ukuri n’ikinyoma, kigatandukanya ikizira n’ikirekuwe, kirimwo umuco n’inyigisho ku bagamburukiramana;"},{"id":49,"translation":"Abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanagira impungenge zo gutinya umusi w’umuhero w’isi."},{"id":50,"translation":"N’iyi Qor’ani Twamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni urwibutso rwuzuye ivyiza ku wibuka akubahiriza n’amabwirizwa yayo. Aho nyene rero murakanagaye muyihakane!"},{"id":51,"translation":"Ni ukuri, Twarahaye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) uburongozi yararikiye abantu kubukurikira imbere y’irungikwa rya Musa na Haruna, kandi Twari Tuzi neza ko abikwiye;"},{"id":52,"translation":"Igihe yabwira se n’abantu biwe yarungitsweko ati: “Ibi bigirwamana mwabaje maze mukitwararika kubisenga, ni ibiki?”;"},{"id":53,"translation":"Bishuye Ibrahimu bati: “Twasanze abavyeyi bacu babisenga ukwo nyene, maze na twe turaheza turabigana”;"},{"id":54,"translation":"Ibrahimu yababwiye ati: “Ni ukuri mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, muri mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”;"},{"id":55,"translation":"Babwiye Ibrahimu bati: “Iryo jambo waje kutubwira, ryoba ari iry’ukuri, canke woba uri mu bifyinira, batebura?”;"},{"id":56,"translation":"Ibrahimu yababwiye ati: “Ahubwo Imana yanyu Rurema Allah ndabararikira gusenga, ni Yo Mana Yaremye amajuru n’isi, kandi jewe kuri ivyo ndi mu bavyemeza koko”."},{"id":57,"translation":"Ibrahimu ni ho yahigira nya bigirwamana, maze avuga ati: “Ndanarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko ntegerezwa gukora ibishoboka vyose nkamenagura ibigirwamana vyanyu nimwamara kubisiga vyonyene”."},{"id":58,"translation":"Ni ho rero Ibrahimu yamenagura nya bigirwamana abigira ubunywenywe, kiretse gusa gikuru cavyo yasize kugira bahave bakibaza ku vyashikiye ibindi bigirwamana."},{"id":59,"translation":"Bamaze kugaruka rero bagasanga ibigirwamana vyamenaguwe, barabazanije hagati yabo bati: “Ni nde ga yemwe yubahutse kumenagura imana zacu! Uyo muntu nta nkeka ko ari mu bantu birenganije mu gusuzugura imana zacu”."},{"id":60,"translation":"Abari bumvise Ibrahimu ahiga ko azobimenagura, bavuze bati: “Twarumvise umusore yabinebaguye, bamwita Ibrahimu”."},{"id":61,"translation":"Indongozi muri bo zaciye zivuga ziti: “Nimurengutse Ibrahimu aheze yemange ivyo yakoze imbere y’ishengero ry’abantu, kugira babe ivyabona”."},{"id":62,"translation":"Ni ho rero barengutsa Ibrahimu baca baramubaza ishavu riniga bati: “Burahi! Mbega ni wewe wubahutse kumenagura imana zacu?”."},{"id":63,"translation":"Na we abishura mu kubereka ubujuju bwabo ati: “Ahubwo nyabuna iki gikuru muri vyo, ni co cabikoze! Mbona vyiza mwobaza izo mana ku vyazishikiye nizaba zishoboye kuvuga canke kwishura!”."},{"id":64,"translation":"Ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa, maze barabona ko imana zabo ata co zishoboye, ni ho bikebukana baraheza babwirana hagati yabo bati: “Mu vy’ukuri, mwebwe mwarirenganije mw’ibangikanyamana!”."},{"id":65,"translation":"Hanyuma ntivyatevye, baca bisubirako babwira Ibrahimu bati: “Ni ukuri, urazi neza ko izi mana zitavuga, twozibaza gute!”."},{"id":66,"translation":"Ibrahimu yabishuye n’agasuzuguro ati: “None bigenda gute ngo musenge mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe mubisenze, ata n’ico bibicira mu gihe mutobisenga!”;"},{"id":67,"translation":"Murakamaramara mwebwe hamwe n’imana zanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah! Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ububi bw’ivyo mugira!"},{"id":68,"translation":"Ubwanwa bumaze gupfuka umunwa, ukuri kukabagira, bahisemwo gukoresha igikenye baraheza bavuga bati: “Nyabuna nimuturire Ibrahimu, muheze mwihorere imana zanyu nimwaba mushaka kuzigarukira”."},{"id":69,"translation":"Barakanagaye bacana inkonge y’umuriro[10], maze bayitereramwo Ibrahimu, ni ho rero Twebwe Allah Twatabara Ibrahimu Duti: “Wa muriro we! Ba imbeho n’itekane kuri Ibrahimu!”. Maze umuriro uri aho, uraheza urazima ata co umutwaye.","footnotes":"[10] Igicaniro amahanga"},{"id":70,"translation":"Bashatse gukoresha urwenge ngo Ibrahimu apfe, maze Twebwe Allah Tuba Twabahinyuye kera baraheza baraneshwa."},{"id":71,"translation":"Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu[11] ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).","footnotes":"[11] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi."},{"id":72,"translation":"Twaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka igihe yasaba ko yoronswa umwana, Twongererako n'umwuzukuru Yakubu mwene Is-haka; kandi umwe wese muri bo[12], Twamugize umweranda agamburukira Imana Allah;","footnotes":"[12] Ibrahimu, Is-haka na Yakubu."},{"id":73,"translation":"Twanabagize indongozi zirarikira abantu igamburukiramana ku burenganzira bwacu Twebwe Allah; Twaranabahishuriye gukora ivyiza bisunze amabwirizwa yacu, gutsimbataza isengesho rikwije ibisabwa no gutanga ishikanwa-bwirizwa, baraheza baravyubahiriza koko, kandi kuri Twebwe baricisha bugufi."},{"id":74,"translation":"Na Luutwi nyene Twaramuhaye ubutumwa, gutumbereza ingingo n’ubumenyi bw’amabwirizwa yacu, Turanamurokora mu bihano Twahaye ababa mu gacimbiri ka Saduma, bari bimonogoje mu gukora ivyaha vy'agahomerabunwa. Mu vy’ukuri, abantu bo mu gacimbiri ka Saduma barangwa n’ibibi bitagira izina, bari n’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah;"},{"id":75,"translation":"Twaranatunganirije Luutwi inema z’ukumushira mu mpuhwe zacu, maze Tumukura mu bihano vyahitanye abantu biwe; mu vy’ukuri, yari mu beranda bagamburukira Imana Allah."},{"id":76,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yanyu; wewe, Ibrahimu na Luutwi, igihe yahamagara atakambira Imana yiwe Rurema Allah, Turaheza Twebwe Allah Turamwumvira igisabisho ciwe, maze Tumukura mu vyago bihambaye we hamwe n’abamukurikiye;"},{"id":77,"translation":"Tumukura mu mutego w’abantu bahakanye ivyemezo vyacu vyerekana ukuri kwiwe. Mu vy’ukuri, nya bantu barangwa n’ibibi, bari n’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, gutyo Turaheza Tubahonesha isegenya bose."},{"id":78,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuvugishwamana Dawudi hamwe n’umwana wiwe Sulayimani (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe baca urubanza rw’abantu babiri babitwayeko, aho intungwa z’umwe muri bo zonye mw’ijoro umurima w’uwundi, maze Dawudi aca urubanza ko izo ntungwa zokwegukira nyenumurima, kuko zanganya igiciro n’ivyononekaye, kandi Twari n’Ivyabona ku ngingo yafashe."},{"id":79,"translation":"Ni ukwo rero Twebwe Allah, Turaheza Tumenyesha Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ko yobatunganiriza bompi akaja hagati ku neza y’umwe wese; nyenintungwa agategekwa gusubiriza ivyononywe muri nya murima, hanyuma nyenumurima na we akaba arikora kuri nya ntungwa mu kiringo co kurindira ko nya murima wera; hanyuma nya murima niwamara kwera, umwe wese agaheza agasubirana ivyiwe. Kandi burya Dawudi na Sulayimani, umwe wese muri bo, Twebwe Allah Twamuhaye ububasha bwo gufata ingingo n’ubumenyi. Twaranorohereje Dawudi ku buryo imisozi hamwe n’inyoni vyitabira ininahaza n’itaziramana ryiwe. Ivyo vyose rero Twarabikoze."},{"id":80,"translation":"Twebwe Allah, Twahariye Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ubumenyi bwo guhingura mu cuma impuzu zo gukingira umutumba gushikirwa n’imyampi n’imipanga mu gihe c’indwano, ari na bwo mwagumye muhererekana mwebwe abantu mu kwikingira mu ndwano. Ubwo none ntimwoshimira Imana Allah kuri ubwo buhinga Yigishije Umuja wayo Dawudi!"},{"id":81,"translation":"Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku gihuhusi we hamwe n’abo bari kumwe, kikamwunguruza kw’itegeko ryiwe gushika muri Bayti l-Maqdis mu bihugu vya Shaamu[13], ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); kandi burya twebwe Allah, Twamye Tuzi neza ibintu vyose.","footnotes":"[13] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi."},{"id":82,"translation":"Twarashoboje Sulayimani no kwikora ku mashetani, akagira ayo akoresha muri yo mu bikorwa vyo kwibira mw’ibahari kuropora ubutare n’amabuye y’agaciro, no mu guhingura ivyo yipfuza; kandi nya mashetani nta burenganzira yari afise bwo kwanka ivyo ayategetse, kandi Twebwe Allah Twarayamubungabungiye."},{"id":83,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuja wacu Ayubu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yageragezwa mu vyago vy’indwara z’igihe kirekire, abana bagahwera, amatungo akamuherako, akihanganira ivyo vyose ku bw’Imana Allah, araheza ahamagara Imana yiwe Rurema Allah ayitakambira ati: “Mu vy’ukuri, nakozweko n’ivyago vy’indwara, none rero ndagusavye Mana yanje ubinkureko, kuko Wewe Urangwa n’impuhwe zisumba iz’abagirampuhwe bose”."},{"id":84,"translation":"Ni ho rero Ayubu, Twamwumvira Turaheza Tumukurako nya vyago, Tunamusubiza ivyo yabuze mu bana n’amatungo bigwijijwe na kabiri, ivyo vyose rero Twabigize ku mpuhwe zacu kugira abere akarorero abiyegereza Imana Allah mu kwihanganira igeragezwa."},{"id":85,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi inkuru ya Ismayili, Idrisa na Dhu l-kifli[14] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), abo bose barihanganira igamburukiramana n’igeragezwa, bituma bayagwa neza n’ibiremwa;","footnotes":"[14] Umwana wa Ayubu."},{"id":86,"translation":"Turaheza Tubinjiza no mu mpuhwe zacu Twebwe Allah, mu vy’ukuri bari mu beranda bagamburukira Imana Allah."},{"id":87,"translation":"Ibuka n’inkuru y’uwigeze kumirwa n’ifi amahanga, Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Twarungitse ku bantu biwe, maze ntibamwumvira, ico gihe yaratwawe n’agashavu araheza ahunga abo yarungitsweko atekewe n’agahinda ko kutumvirwa, yibwira ko Twebwe Allah Tutobimuhora Tukamushira mu kaga, ni ho yagirwa n’isi atamirwa n’ifi amahanga, araheza ahamagara ari mu mwijima w’amoko atatu[15], atakamba yigaya ku kutaguma mu bantu yarungitsweko, avuga ati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Wewe gusa Mana; ininahazwa ni iryawe, mu vy’ukuri nari mu birenganije”.","footnotes":"[15] Umwijima wo mw’ijoro, umwijima wo mw’ibahari n’umwijima wo mu nda y’ifi."},{"id":88,"translation":"Ni ho rero Twumvira Yunusu mwene Matta, Turaheza Tumukura muri nya kaga, ni nk’ukwo nyene rero Dukura mu kaga abemeramana vy’ukuri."},{"id":89,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa."},{"id":90,"translation":"Ni ho Zakariya Twamwumvira Turaheza Tumuronsa umwana yitwa Yah-ya, umukenyezi wiwe na we Twaramushoboje gusama imbanyi inyuma y’aho yari ingumba ageze no mu za bukuru. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abo bose Tukudondaguriye barahurumbira ivyiza, bakanadusaba barajwe ishinga no kuronka inema zacu, batinya n’ibihano vyacu, baranicisha bugufi kuri Twebwe Allah."},{"id":91,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Mariyamu umukobwa wa Amraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, Turaheza Tumurungikira umumalayika Jibrili amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse iwacu, aca arasama imbanyi ya Isa ata mugabo babonanye. Mariyamu n’umwana wiwe Isa rero, Twabagize ikimenyetso cereka ibiremwa vyose ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah gushika ku musi w’umuhero w’isi."},{"id":92,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, idini ry’aba Bavugishwamana Tudondaguye, ari na ryo dini ryanyu, ni idini rimwe ry’ubwislamu; ryo kwicisha bugufi no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni na Jewe rero Imana yanyu Rurema Allah, enda nyabuna rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munansenge mutambangikanya."},{"id":93,"translation":"Ariko rero abantu ni bo bahavuye bicamwo imigwi ha gukurikira idini rimwe, gutyo basenga ibigirwamana batwawe n’ivyipfuzo vyabo. Iyo migwi yose rero, impera n’imperuka izogaruka iwacu Twebwe Allah, kugira iharurirwe iheze ihemberwe ivyo yakoze."},{"id":94,"translation":"Uwuzokora ivyiza bitegetswe rero, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo, ibikorwa vyiwe ntibizoba impfagusa namba, Tuzobimuhembera; mu vy’ukuri n’ivyo yakoze vyose, Tuzovyandika mu gitabu ciwe azokwisomera ku musi w’izuka."},{"id":95,"translation":"Ntibizokwigera bishika ku bantu bo mu gacimbiri Twahoneje ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ko bagaruka kandi kw’isi kugira ngo bigaye bongere bakore ivyo birengagije imbere yuko umuhero w’isi ushika."},{"id":96,"translation":"Igihe habonetse ibimenyetso bihambaye vy’umuhero w’isi, hagasenyurwa uruzitiro-ntamenwa rw’ahabohewe Ya-juuju na Ma-juuju, maze Ya-juuju na Ma-juuju bagashunguruka imisozi bashwiragira mu mpande zose z’isi;"},{"id":97,"translation":"Isezerano ry’isango ry’ukuri ry’umuhero w’isi rizoba ryegereje, aho abagarariji bazoturumbura amaso kubera intureka z’uwo musi, bazokwisabira guhona bavuga bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni ukuri, twari twagoswe mu kutibuka intureka z’uno musi ngo tuwitegurire, ahubwo mbere twarirenganije koko”."},{"id":98,"translation":"Bagarariji! Mu vy’ukuri, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[16] mwasenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibicanirizo vy’umuriro wa Jahannamu, mwebwe mwese rero mutegerezwa kuwinjira;","footnotes":"[16] Ibigirwamana vy'ubwoko bwose, ni ico cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah. Abasenga abamalayika canke Intumwa nka Uzayru na Isa mwene Mariyamu, abo bazohanwa bonyene gusa kuko basengwa batabinezererewe."},{"id":99,"translation":"Iyo ibigirwamana mwasenze mu gishingo c’Imana Allah biba bikwiye gusengwa vy’ukuri, ntivyari kwinjirana na mwe mu muriro wa Jahannamu. Ibigirwamana hamwe n’ababisenze rero, bazoguma muri nya muriro ibihe bidahera;"},{"id":100,"translation":"Bari mu bihano bikaze bituma bahezagurika urutavanako; muri nya muriro, nta n’uwuzokwumva muri bo bivuye ku ntureka z’ibihano biriyo."},{"id":101,"translation":"Mu vy’ukuri, abo Twamaze kumenya ko bafise amahirwe yo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, abo ni bo rero bazokwigizwa kure y’umuriro wa Jahannamu;"},{"id":102,"translation":"Ntibazokwumva n’ihinda rya nya muriro hamwe n’ituragurika ry’imibiri y’abawurimwo, bazoba bari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru bamye bashashaye, bazobayo ibihe bidahera;"},{"id":103,"translation":"Intureka zihambaye z’uwo musi ntizizobatera ubwoba namba, bazokwakirwa n’abamalayika babakeza bati: “Uwu ni wo musi wanyu mwasezeraniwe ko muzohemberwa ivyo mwakoze”;"},{"id":104,"translation":"Umusi Twebwe Allah, Twazingazinze ijuru nka kurya urupapuro rw’igitabu ruzingwazingwa, Tugaheza Tukazura ibiremwa vyambaye ubusa nka kurya Twabiremye nambere bikivuka. Iryo ni isezerano ryacu Twebwe Allah, ritegerezwa gushika ata gisivya; mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamye Dushitsa ivyo Dusezeranye."},{"id":105,"translation":"Ni ukuri, Twaranditse mu Bitabu vyamanuwe mu nyuma y’ivyanditswe mu Gitabu kibungabunzwe (Lawhu Mahfuudhw), ko isi bitebe bitebuke abazoyitorana ari abaja banje beranda mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":106,"translation":"Burya mu vy’ukuri, muri izi nkuru musomewe, ni ukuri harimwo inkebuzo ikwiye ku bantu bicisha bugufi koko."},{"id":107,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwakurungitse atari ukugira ubere impuhwe amajini n’abantu bose, gutyo hagire amahirwe uwukwemeye, hahombe uwuguhakanye."},{"id":108,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri ivyo nahishuriwe, ni uko vy’ukuri Imana yanyu Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Allah, nimwicishe bugufi rero kuri Yo mube abislamu, muheze muyisenge mutayibangikanya”."},{"id":109,"translation":"Nibagenza umugongo bakirengagiza kuba abislamu, uraheza ubabwire uti: “Ndabararikira mwese gukurikira ivyo nahishuriwe, burya jewe na mwe turi co kimwe mu bumenyi bw’ivyo ndabagabishako, nanje sinzi rero ibihano mugabishwako aho bizoshikira, ko vyoba biri hafi gushika canke biri kure!"},{"id":110,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza amajambo mugaragaza n’ayo muhisha mu mitima yanyu, Izoyabahembera;"},{"id":111,"translation":"Vyongeye, sinzi rero kumbure ko itenyenya ku bihano mwihutira gusaba ko vyoshika, harimwo igeragezwa kuri mwebwe kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, maze mubandanye mugarariza, gutyo muzohabwe ibihano ruhasha\"."},{"id":112,"translation":"Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ducire urw’ukuri twebwe n’abaduhakana. Dusaba rero Imana yacu Rurema Nyenimpuhwe Allah, Yo Yifashishwa mu kwihanganira ivyo muvuga mudutega imisi mw’irementanya n’igarariza”."}]},{"id":22,"verses":[{"id":1,"translation":"Emwe bantu! Nimutinye ibihano vy’Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri intureka z’umuhero w’isi, ni ikintu gihambaye cane, kirenze ubwenge bwa kiremwa-muntu;"},{"id":2,"translation":"Umusi mwabonye umuhero w’isi ugeze, intureka zawo zizotuma umuvyeyi yonsa yibagira umwana ariko aronsa; umugore yibungeze na we, azokorora imbanyi kubera ubwoba bubica bigacika; maze ubone abantu baborewe bataye ubwenge ata biboreza bashize ku munwa, ariko ivyo vyose bizoterwa n’ibihano vy’Imana Allah bikaze."},{"id":3,"translation":"Mu ndongozi z’abagarariji mu bantu, harimwo abaharira mu guhakana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah bwo kuzura abapfuye, bitewe n’ubujuju bwo kutamenya ubushobozi n'ububasha vyayo, bagakurikira muri nya mpari indongozi z’abahuvye mu mashetani ruhebwa;"},{"id":4,"translation":"Imana Allah Yaramaze kugena mu vyagezwe, ko uwo wese azoba umugenzi acuditse na shetani, shetani izomuhubisha inzira y’ukuri, imurongore mu nzira imuganisha mu bihano vy’umuriro ururumba."},{"id":5,"translation":"Emwe bantu! Nimwaba mufise amakenga kw’izurwa ry’ibiremwa, nimumenye ko Twebwe Allah Twaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomokako Tubarema mu buryo bwo kurondoka mw’ima ry’intanga umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, maze iryo ma rikibumba rikaba amaraso avuze; mu nyuma, nya maraso akiremarema akaba akamanyu k’inyama gaheza kakagenda gakura bukebuke, gushika n’aho kaba kiremwa-muntu kivuka ari ikiremwa kizima gikomeye, hari n’igihe kitaba ikiremwa kizima kikaza ari ikiburirane. Izo ntambwe z’iremwa ryanyu rero, Tuzibatomorera kugira mutahure ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah mu kurema. Turaheza rero Tukagumiza mu gitereko ikiremwa Dushaka ko kivuka ari kizima, gushika igihe c’ivuka. Mu nyuma rero hageze kuvuka, Tukabakura mu nda z’abavyeyi banyu muri abana bagenda barakura bukebuke gushika mugere mu bigero. Muri mwebwe, hari n’abapfa rero bataragera mu bigero, hakaba n’abakura bagashika mu busaza gushika n’aho batakimenya na kimwe, bagatangura guhoha nk’abana, ntibabe bakimenya n’ivyo bahora bazi. Uzobona n’isi yagadutse itakimerako ikintu na kimwe; iyo Tugize ngo Turatumye imvura igwa kuri nya si, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, ikamera n’ubwoko bwose bw’ibimera bibereye ijisho."},{"id":6,"translation":"Muri ivyo vyose vyadondaguwe rero, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Mana y’ukuri Ikwiye gusengwa, Ishoboye no gusubiza ubuzima abapfuye Ikabazura, n’uko ari Yo Mushoboravyose;"},{"id":7,"translation":"Nya vyemezo birerekana kandi ko isango ry’umuhero w’isi rigiye gushika ata gisivya, n’uko Imana Allah Izozura abapfuye kugira Ibaharurire, Iheze Ibahembere ivyo bakoze."},{"id":8,"translation":"Mu ndongozi z’abagarariji mu bantu rero, harimwo uwuharira ku bijanye n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’imanurwa rya Qor’ani, agaharira kuri ivyo ata n’ubumenyi abifiseko, ata n’uburongozi, eka ata n’ivyemezo bitomoye yisunga biri mu Gitabu kivuye ku Mana Allah;"},{"id":9,"translation":"Agakebanya izosi ku manyama yirengagiza ukuri, kugira aburagize abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah. Uyo rero yaragenewe guteterwa kw’isi igihe ikinyoma camutekurukanye, kandi Twebwe Allah Tuzonamuhonja ibihano mu muriro ku musi w’izuka;"},{"id":10,"translation":"Azobwirwa ati: “Ivyo bihano wahawe, vyatewe n’ivyaha wakoze kw’isi, n’uko rero Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera”."},{"id":11,"translation":"Burya mu bantu, harimwo uwinjirana amakenga mu bwislamu, agoyagoya mu kwemera kwiwe, maze agasenga Imana Allah yijijanya imitima nk’uwuhagaze ku nkengera y’imanga ahakwa guhenukirayo, akizera ivyo yemera yisunze amaronko y’ivy’isi. Iyo aroraniwe mu buzima, araheza agashishikara gusenga; iyo naho ageragejwe mu gushikirwa n’amagorwa, aca yisubirako akidodomba ko ata ciza yigeze abona mu kwemera kwiwe. Uyo rero yarahomvye mu buzima bwo kw’isi, kuko ukwidodomba kwiwe ata co guhindura ku vyagezwe kuri we; vyongeye, yarahomvye no mu buzima bwiwe bw’inyuma yo gupfa, kuko azotabwa mu muriro. Ukwo rero, ni kwo guhomba nya guhomba;"},{"id":12,"translation":"Uyo yahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, araheza agasenga mu gishingo c’Imana Allah ikintu ata co kimwicira mu gihe yoreka kugisenga, eka ata n’ico kimumarira mu gihe yogisenga. Ukwo rero, ni kwo guhuba kuri kure cane y’ukuri;"},{"id":13,"translation":"Asenga ikintu amabi yaco kuri we ari yo menshi cane gusumba ivyiza vyaco. Igisengwa rero muri ubwo buryo, kiba ari umutabazi mubi cane, kiba ari na wo muryango mubi cane."},{"id":14,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Ikora ivyo Ishatse mu gutera iteka abagororotsi ku butore bwayo, no mu guhana abanyavyaha ku butungane bwayo."},{"id":15,"translation":"Uwibwira ko Imana Allah Itazoshikana ku ntsinzi Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze idini ryayo rigatsinda kw’isi, Ikanamuha icubahiro nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Igaheza Igahana n’abamuhakana bivuye inyuma, aramanika rero umugozi ku rusenge aheze yimanike, hanyuma atanguye gusambagirika ace nya mugozi, mu nyuma aheze arabe ko ishavu afise ritewe n’uko Imana Allah Ishikanye ku ntsinzi Intumwa yayo, ryohera!"},{"id":16,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twatomoye ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vyacu mu kuzura abapfuye - Twamanuye Qor’ani irimwo Aayah zitomoye zituma Imana Allah Irongora mu nzira yayo uwo Ishatse."},{"id":17,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakanayikurikira, abayahudi, abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, abanaswara, abasenga umuriro n’ibindi bigirwamana hamwe rero n’ababangikanyamana, abo bose Imana Allah ku musi w’izuka Izobatandukanya, Iheze Yinjize abemeramana mu Bwami bw’ijuru, maze Ihanishe umuriro abagarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Izobibihembera."},{"id":18,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntiwamenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Yubamirwa n’abamalayika bari mu majuru hamwe n’ibiremwa biri mw’isi, Ikubamirwa n’izuba, ukwezi, inyenyeri, imisozi, ibiti hamwe n’ibindi biremwa bigendagenda kw’isi, Ikubamirwa kandi na benshi mu bemeramana mu bantu! Hari n’abandi benshi mu bantu rero bamaze kwagirwa n’ibihano bisuzuguza. Uwo wese rero azosuzuguzwa n’Imana Allah, ntuzomuronkera n’umwe yomuhesha icubahiro. Mu vy’ukuri Imana Allah, Ikora ivyo Ishatse ku biremwa vyayo ku ntumbero nziza ibifiseko."},{"id":19,"translation":"Hari imigwi ibiri yashamiranye ku bijanye n’Imana yayo Rurema Allah; umugwi w’abemeramana n’uw’abagarariji, umugwi wose muri yo ukibwira ko ari wo uri mu kuri. Burya rero, abagarariji bazokwugarizwa n’ibihano vy’ukwambikwa impuzu zihinguwe mu muriro, baheze basukwe ku mutwe amazi yasebuye akaryimara;"},{"id":20,"translation":"Maze nya mazi aturire ibiri mu nda hamwe n’uruhu rw’umubiri;"},{"id":21,"translation":"Abamalayika baheze bahondagure imitwe yabo n’inyundo z’icuma;"},{"id":22,"translation":"Igihe cose bazogerageza kwikura mu muriro, barondera guhunga akaga n’agahinda biriyo, bazokubitirwa gusubirayo, maze babwirwe bati: “Nimuhonje nyabuna ibihano vy’umuriro uturira”."},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Muri nya Bwami, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[1], abagabo co kimwe n’abagore bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire;","footnotes":"[1] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane."},{"id":24,"translation":"Na kare Imana Allah, Yarabarongoye bakiri kw’isi kw’ijambo ryiza ryo kuyemera no kuyininahaza, Ibarongora no mu buzima bw’inyuma yo gupfa kw’ijambo ryo kuyishimagiza, Yari Yaranabarongoye mu nzira ibereye y’idini ry’ubwislamu ibashikana mu Bwami bw’ijuru."},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri abagararije Imana Allah, bagahakana bivuye inyuma n'ubutumwa bashikirijwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaburagiza n’abantu kwinjira mu bwislamu, bakanaburabuza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abemeramana kwinjira mu musigiti w’i Makka, umusigiti Twebwe Allah Twagize kuba ihuriro ry’abemeramana bose, ku basanzwe baba ng’aho co kimwe n’ingenzi zije zihagana, abo rero baragenewe ibihano bibabaza. N’uwo wese rero azoshaka kurenganya mu gucumurira muri nya musigiti, Tuzomuhonja ibihano bibabaza."},{"id":26,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka igihe Twamenyesha Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ahazokwubakwa ingoro ntagatifu, Tukamubwiriza kuyubaka mu ntumbero yo gutsimbataza isengwa ry’Imana Imwe Rudende, Duti: “Ntukambangikanye rero n’ikintu na kimwe. Niweze n’iyi ngoro yanje; ntigakorerwemwo igarariza, ivyadukano n’ibihumanya vyose, kugira nya ngoro ibe ihuriro ry’abayikikura hamwe n’abatsimbataza amasengesho bunama bubama;"},{"id":27,"translation":"Ewe Ibrahimu! Menyesha abantu ko babwirijwe gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka, bazoheze bashwabadukire rimwe mu buryo bwose butandukanye; abagenda n’amaguru n’abagendera ku bitwazi, maze baze bavuye mu mihingo yose y’isi;"},{"id":28,"translation":"Kugira bibonere ukuri kwamye ibibafitiye akamaro[2]; no kugira baninahaze bongere batazire izina ry’Imana Allah mu gihe co kubaga ibitungwa mu misi izwi[3], ivyo bakabikora mu ntumbero yo gushima inema z’Imana Allah. Bantu muzoja gushengerera ingoro ntagatifu! Muraheza rero mufungure kuri nya bitungwa mwongere mubifungurireko n’aboro;","footnotes":"[2] Kubabarirwa ivyaha, guhabwa indishi, kwunguka mu rudandazwa, n’ibindi.\n[3] Iyo misi, ni umusi wa 10 mu kwezi kwa 12 kwa Dhu l-Hijja, hamwe n’imisi itatu ikurikira."},{"id":29,"translation":"Hanyuma abagiye gushengerera nya ngoro, baheze batunganye iyindi migirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, ijanye no kwiyuhagira, uguca inzara no kumwa umushatsi, baheze kandi bubahirize ishirwa mu ngiro ry’ivyo biyemeje gukora bijanye n’ishengerera n’igendera ry’ingoro ntagatifu, harimwo no kubaga, bongere bakikure inyubakwa ya kera ya Al-Ka’ba, ikingiwe;"},{"id":30,"translation":"Iyo migirwa rero, ni yo mutegetswe kwubaha mukubahiriza. Uwuzokwubaha akubahiriza amabwirizwa y’ivyaziririjwe n’Imana Allah mu gutunganya neza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, bizoba ari vyiza kuri we kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. Mwaranarekuriwe gufungura inyama z’ibitungwa vyose, kiretse ivyaziririjwe kuri mwebwe mu vyo musomerwa muri Qor’ani, ko biziririjwe, ivyo rero muririnda kubifungura. Muraheza rero kandi mwirinde isengwa ry'ibigirwamana bihumanye, vyongeye mwirinde n’ikinyoma kuko ari irementanya ku Mana Allah;"},{"id":31,"translation":"Maze rero musenge Imana Imwe Rudende Allah, mwicishije bugufi mutayibangikanya n’ikintu na kimwe; burya rero uwubangikanije Imana Allah n’ikintu na kimwe ari kure y’ukurongoka; ameze nk’umuntu ahanantutse avuye mu kirere[4], maze inyoni zikamusamira hejuru zimutabaguratabagura, canke hakaza igihuhusi kikamujugunya iyo catawe;","footnotes":"[4] Ako ni akarorero k’umuntu aretse kwemera agahitamwo kugarariza."},{"id":32,"translation":"Iryo rero, ni ryo bwirizwa ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah no kwicisha bugufi kuri Yo. Uwuzokwubaha akubahiriza rero ibimenyetso vy’idini ry’Imana Allah[5], nta nkeka ko mu vy’ukuri iyubaha n’iyubahirizwa ry’ivyo bimenyetso, biri mu bikorwa vy’igamburukiramana ry’imitima.","footnotes":"[5] Muri ivyo bimenyetso vyubahwa bikubahirizwa, ni imigirwa y’ishengerera hamwe n’ibibanza bitandukanye iyo migirwa iberamwo, ibibagwa n’imbagwa."},{"id":33,"translation":"Imbagwa murekuriwe gukerera rero, zirabafitiye akamaro mu kwikora ku bwoya bwazo, amata yazo hamwe no kuziyunguruzako, n’ibindi bitageramira izo mbagwa, mu gihe cose umwanya zibagirwako mu kibanza c’inyubakwa ya kera ihezagiwe, uzoba utaragera."},{"id":34,"translation":"Umugwi wose w’abemeramana mu bantu b’aho hambere, Twawugeneye imigirwa ubwirizwa kwubaha no kwubahiriza, kugira uninahaze wongere utazire izina ry’Imana Allah mu gihe co kubaga ibitungwa Yawuronkeje, uheze unashimire Imana Allah. Bantu! Burya Imana yanyu, ni Imana Imwe Rudende Allah, nimwicishe bugufi rero kuri Yo, mwongere mwumvire n’Intumwa yayo. Muvugishwamana! Shikiriza rero abicisha bugufi ku Mana Allah inkuru ihumuriza yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":35,"translation":"Barya iyo hayazwe Imana Allah, bagira impungenge zo gutinya ibihano vyayo bakiyubara no guca kubiri n’amabwirizwa yayo, bakihanganira ibiza n'ivyago bibashikiye bazeye indishi kuri Yo, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa hamwe n’imperezwa mu vyo Twebwe Allah Twabaronkeje[6].","footnotes":"[6] Hatibagiwe kubeshaho umuryango, gutanga imperezwa mu bikorwa vy’Imana Allah, guha imperezwa abavyeyi mu gihe boba bakenye, n’ibindi."},{"id":36,"translation":"Ukubaga ingamiya n’inka zinuze, Twakugize kuri mwebwe kuba mu bimenyetso vy’idini ry’Imana Allah, kugira mwiyegereze Imana Allah. Ibagwa ry’ivyo bitungwa rero, riranabafitiye akamaro, kuko muheza mugafungura mukanatanga imperezwa ku nyama zavyo, gutyo mukabironkera indishi. Muraheza rero mu gihe co kubibaga muvuge muti: “BISMI LLAAH”; ingamiya niyamara kugwira urubavu, izoba irekuwe gufungurwa[7]. Muraheza mufungure ku nyama zazo, mwongere mufungurireko umworo yigumya ntasege hamwe n’umukene yubahuka agasega. Ni ukwo rero Imana Allah Yaborohereje kubaga nya ngamiya n’inka zinuze kugira muyishimire.","footnotes":"[7] Ingamiya ibagwa ihagaze ku maguru atatu ukundi kuguru kugira kane kuboshwe, bagaca rero bayicumita inkota mw’izosi igaca igwira urubavu. Ubwo buryo bukoreshwa mu kubaga ingamiya bwitwa “annahr”."},{"id":37,"translation":"Inyama za nya bitungwa eka n’amaraso yavyo, ntibishikira Imana Allah, ariko igishikira Imana Allah ni igamburukiramana ryanyu mu kuba mwabibaze ku bwayo. Ni ukwo rero, Imana Allah Yaborohereje kubaga nya bitungwa kugira mukuze Imana Allah mwongere muyishimire ku kuntu Yabarongoye mu nzira yayo. Muvugishwamana! Shikiriza rero abagwaneza mu kwiyegereza Imana Allah no mu gufasha ibiremwa vyayo, inkuru ihumuriza yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":38,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakingira abemeramana akadenderezo k’abagarariji; mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba umuhemu atubahiriza isezerano ryayo, yihakana inema zayo."},{"id":39,"translation":"Abahabishijwe bagacurwa bufuni na buhoro, bararekuriwe kwivuna umwansi ku rugamba ku mvo z’uko barenganijwe; kandi Imana Allah, mu vy’ukuri Irashoboye kubatabara no gutetereza umwansi wabo[8];","footnotes":"[8] Mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu abemeramana bamaze i Makka, ntibari barekuriwe na gato kwihora uwubasindiye canke uwubarenganije, ahubwo bari bategetswe kwihangana no kutihora ku bibashikiye vyose. Aho rero Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yimukiye ikava i Makka ikaja i Madina, abislamu na bo bakiyongera igitigiri, Imana Allah Yaciye Ihishura iyi Aayah, Ibarekurira kwirwanako ku rugamba."},{"id":40,"translation":"Abasohowe mu zabo hatisunzwe ukuri, bakomorwa ata kindi bazira atari uko bavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”. Iyo hataba ingingo yashinzwe n’Imana Allah yo kurenganura uwarenganijwe ku neza y’idini, hamwe no kwamirira kure inabi mu kurekurira abemeramana kwivuna umwansi ku rugamba, ukuri kwari kuneshwa, ubwononyi na bwo bukiganza kw’isi, maze amasengero[9] n’imisigiti biyagirwamwo kenshi izina ry’Imana Allah, bigasenyurwa. Ni ukuri, Imana Allah Itabara abaharanira idini ryayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa;","footnotes":"[9] SWAWAAMI’U ni ubwiherero bw’abihebeye Imana. BIYA’U ni isengero ry’abanaswara. SWALAWAATU ni ahantu abayahudi basengera. MASAAJIDI ni ahantu abislamu basengera."},{"id":41,"translation":"Barya iyo Twebwe Allah Tubatsimbataje kw’isi, baheza bagatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakabwiriza no gukora ivyiza[10] bakanabuza no gukora ibibi[11]. Burya rero iherezo ry’ibintu vyose rigenwa n’Imana Allah.","footnotes":"[10] Mu kwubaha no kwubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa.\n[11] Vyabujijwe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abantu bawe warungitsweko nibaguhakana bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri n’abantu bo hambere yawe barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe; abarungikiwe Nuhu, Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe;"},{"id":43,"translation":"Abantu barungikiwe Ibrahimu n’abarungikiwe Luutwi;"},{"id":44,"translation":"Abanya Madiyana bahakanye Shu’ayibu, Musa yahakanywe na Firawuni n’abantu biwe. Nahavuye rero Ntenyenya sinihutira guhana abo bagarariji, hanyuma ni ho Nafata umugwi umwumwe nkawuhana bikwiye. Mbega none ukubihaniza kwanje Jewe Allah ko batogarariza n’uko batokwihakana inema zanje, vyabashikanye kuki atari ibihano!"},{"id":45,"translation":"Hari uducimbiri twinshi rero twirenganije mu kugarariza, Turaheza Twebwe Allah Duhonya abatubamwo, maze nya ducimbiri dusigara tugaragara ata n’igisanira kiharangwa, amariba bavomamwo arasiba, n’inyubakwa zikomeye zishajije babamwo, ntizabakingiye namba ibihano."},{"id":46,"translation":"Mbega abahakanyi ntibaragendagenda kw’isi kugira ngo birabire ibisigarira vy’abahonejwe ngo bagire umutima unyurwa, n’ubwenge bwiyumvira koko, canke ngo bagire amatwi yumva agategera! Burya ubuhumyi nya buhumyi si ubw’amaso, ahubwo nyabuna ubuhumyi nya buhumyi, ni ubw’umutima uri mu gikiriza utanyurwa n’ukuri."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, burya Imana Allah ntizoca kubiri n’isezerano ryo kubahanira ihakana ryabo, nta nkeka rero ko, bitebe bitebuke, Izobahana nk’uko Yahanishije ukwicwa bamwe muri bo ku rugamba rwa Badri. Mu vy’ukuri, umusi w’izuka ku Mana yawe Rurema Allah, ungana n’imyaka igihumbi mufatiye ku myaka muharura kw’isi."},{"id":48,"translation":"Hari n’uducimbiri twinshi rero twirenganije mu kugarariza, maze Jewe Allah Ndatenyenya guhana abatubamwo, baca bararendegera mu butumva; mu nyuma, Ndaheza rero Ndabahana bakiri kw’isi barahona, kandi n’iherezo ryabo ni iwanje Jewe Allah, kugira Ndabahe ibihano bibakwiye mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”;"},{"id":50,"translation":"Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":51,"translation":"Nayo abakoresheje urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, bahakane n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bibwira ko bazotunaniza Twebwe Allah, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe Intumwa canke Umuvugishwamana, kiretse ko mu gihe ariko arasoma ivyo yahishuriwe, shetani yaca itera amazinda mu vyo asoma, kugira abantu ntibakurikire ivyo asoma, hanyuma Imana Allah na Yo Ikaba Yabihinyuye kera, Ikamara nya mazinda, Igaheza Igatunganya Aayah zayo zitomoye. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe; Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":53,"translation":"Iryo teramazinda rya shetani rero, riba kugira Imana Allah Irigire ikigeragezo ku bantu bafise indwara y’uburyarya mu mutima, no ku barangwa n’agatimatare mu babangikanyamana batigera bikebuka. Mu vy’ukuri, abirenganije mw'ibangikanyamana, barangwa n’urwanko rwo guca kubiri n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, urwanko ruri kure cane y’ukuri;"},{"id":54,"translation":"No kugira ngo abahawe ubumenyi, bamenye ko Qor’ani ari kwo kuri kudahinyuzwa kuva ku Mana yawe Rurema Allah, maze bayemere ata gushidikanya, baheze bicishe bugufi kuri Yo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah Irongora abayemeye bakemera n’Intumwa yayo mu nzira yayo igororotse y’ubwislamu."},{"id":55,"translation":"Abagararije bagahakana Imana Allah bivuye inyuma, ntibahengeshanya kugumana amazinda kuri Qor’ani kugera bashikiwe giturumbuka n’umuhero w’isi bagihakana, canke bashikiwe n’ibihano ku musi utazoberera namba, ukaba ari wo musi w’izuka;"},{"id":56,"translation":"Inganji y’ubwami kuri uwo musi w’izuka, ni iy’Imana Allah Izoheza Igaca urugororotse hagati y’abemeramana n’abagarariji. Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema."},{"id":57,"translation":"Nayo abagararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah bakanahakana bivuye inyuma Intumwa yayo hamwe na Aayah za Qor’ani, abo ni bo bantu rero bagenewe ibihano bisuzuguza vyo mu muriro wa Jahannamu."},{"id":58,"translation":"Abataye izabo bakimuka ku bw’Imana Allah, mu ntumbero yo guharanira idini ryayo, hanyuma bakicirwa ku rugamba canke bagahitanwa n’urupfu rusanzwe, nta nkeka ko Imana Allah Izobaronsa Impano zishemeye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru; kandi mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa."},{"id":59,"translation":"Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah Izobinjiza mu bwinjiriro bashima bubashikana mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri, nta n’inkeka ko Imana Allah ari Yo Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ico umwumwe wese azirikana mu kuyiharanira; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba;"},{"id":60,"translation":"Iyo rero, ni yo ndishi ibereye abimuka ku bw’Imana Allah. Kukaba nkako, uwuzorenganywa ararekuriwe kwihora uwamurenganije ku rugero nk’urwo yarenganijweko; uwamurenganije na we niyaramuka asubiriye kandi kumurenganya; mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah Izotabara uwurenganijwe azira ko yihoye yivuna akarenganyo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenuguhariribicumuro, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya."},{"id":61,"translation":"Uwubashingira ingingo zitunganye ni Imana Allah, ni na Yo mukwiye kumenya ko Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjiza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Ikaba ari na Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa; Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’ibiremwa."},{"id":62,"translation":"Ivyo biri ukwo rero, kuko mu vy’ukuri Allah ari Yo Mana y’ukuri Ibwirijwe gusengwa, n’uko ibigirwamana ababangikanyamana basenga mu gishingo cayo ari irementanya, n’uko kandi Imana Allah ari Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru."},{"id":63,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze isi igatotahara, igasa n’urwatsi rubisi! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibintu vy’ingirakamaro ku biremwa, Muhetuziwavyose;"},{"id":64,"translation":"Ni Yo Mugabe Igaba Ikaganza ibintu vyose biri mu majuru n’ibiri mw’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo. Mu vy’ukuri, ni na Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Yabashoboje kwikora ku biri mw’isi[12], Ikabashoboza no kugendera mu bwato bureremba mu mazi mw’ibahari ku bushobozi n'ububasha vyayo[13], Ikagumya n’ijuru kugira ntirigwe kw’isi ngo ribahonye kiretse ku bubasha bwayo! Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ku bantu, ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[12] Ibinyabuzima bigendagenda kuri yo, ibitungwa, ivyimeza, ibiterwa, ivyamwa n’imboga, n’ibindi; hamwe rero n’ibitari ibinyabuzima. Ivyo vyose rero Ikaba Yabiremye ku neza yanyu.\n[13] Maze nya bwato bukabunguruza mwebwe hamwe n’ivyo mutwaye, bukabashikana aho hose mushaka."},{"id":66,"translation":"Ni na Yo Yabahaye ubuzima mu kubarema ata co Ifatiyeko, hanyuma Ibaka nya buzima hageze gupfa, mu nyuma Izobasubiza ubuzima ku musi w’izuka, muheze muzuke kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko umuntu yama yagararije mu guhakana yivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi, ububasha n’isengwa vy’Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":67,"translation":"Umugwi wose mu migwi y’ab’aho hambere rero, Twebwe Allah Twawushingiye amabwirizwa n’uburyo bw’igamburukiramana wategerezwa kwubahiriza. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, ababangikanyamana ntibakakwiganzeko ku mabwirizwa wahawe, no mu bikorwa vyawe vy’igamburukiramana Twagushingiye. Shishikara nyabuna kurarikira abantu isengwa ry’Imana yawe Rurema Allah n’iy’ubahirizwa ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri nta nkeka ko wewe uri ku burongozi bw’idini rigororotse."},{"id":68,"translation":"Abagarariji nibaguma baguhaririza ku vyo ubararikira kwubahiriza, ntuzoje mu mpari namba, uraheza ubabwire uti: “Imana Allah Irazi neza ivyo mukora mu ntumbero yo gutsimbatara kw’igarariza;"},{"id":69,"translation":"Imana Allah, ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo mwahora muhazanako mw’idini[14]\".","footnotes":"[14] Iyi Aayah yigisha urupfasoni rwo kwishura uwuharira mu ntumbero yo gutebura no kugarariza."},{"id":70,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko Imana Allah Izi neza ibiri mw’ijuru no mw’isi! Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’ivyo vyose bwanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo \"Lawhu Mahfuudhw\". Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’ivyo vyose rero buroroshe ku Mana Allah nta kiyisoba."},{"id":71,"translation":"Abagarariji babandanya kubangikanya Imana Allah, mu gusenga mu gishingo cayo ibigirwamana, ata na hamwe Imana Allah Yigeze Imanura mu Gitabu icemeza c’uko nya bigirwamana bikwiye gusengwa, eka nta n’ubumenyi bafise bwokwemeza isengwa ryavyo, kuko bapfuye gusa gukurikira ivyo ba se basenga. Burya abirenganya mw’ibangikanyamana, nta mutabazi bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azobakingira ibihano canke ngo abarwaneko."},{"id":72,"translation":"N’iyo abagarariji basomewe Aayah zacu za Qor’ani, ushoka ubona banyinyiriwe n’ishavu n’akantu mu maso, bagahakwa gusimbira ku bemeramana babararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah bakanabasomera nya Aayah zacu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega ndabiganire inkuru yobashavuza gusumba ukuntu mushavuzwa n’isomwa rya Aayah za Qor’ani n’irarika ry’abemeramana! Ni umuriro Imana Allah Yasezeraniye abagarariji mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na yo maherezo mabi cane”."},{"id":73,"translation":"Emwe bantu! Mwaraciriwe agace, nimutege amatwi rero mukumvirize mwongere mukazirikane. Mu vy’ukuri, ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibizopfa bishoboye kurema n’isazi imwe gusa n’aho vyogira urunani, nkeswe rero kurema igisumba isazi! No mu gihe isazi yogira ico yihagiye mu kununuza kimwe mu vyatanzweko ikimazi ku bigirwamana, nya bigirwamana ntivyoshobora kuyaka ico yihagiye. Ibigirwamana rero, nta na kimwe bishoboye kuko ata bubasha bwo kurema bifise, eka ntibinafise n’ububasha bwo guhabuza ivyo isazi yihagiye, bitayeko n’isazi ubwayo nyene nta co ishoboye."},{"id":74,"translation":"Ababangikanyamana ntibahaye namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":75,"translation":"Imana Allah, Ihitamwo mu bamalayika intumwa Irungika ku Bavugishwamana, Igahitamwo no mu bantu Intumwa Ibarungikira kugira zibashikirize ubutumwa bwayo, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza abo Ihitamwo ngo bashikirize ubutumwa bwayo ku biremwa;"},{"id":76,"translation":"Irazi neza ibikorwa vy’abamalayika n’ivy’Intumwa, imbere y’iremwa ryavyo, Irazi neza n’inkuru ya kazoza kavyo bimaze gupfa. Ni no kuri Yo rero, ibintu vyose bizosubizwa."},{"id":77,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)! Nimwuname munubame mu gihe muriko murasenga, mwongere mwiyegereze Imana yanyu Rurema Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, muheze mukore n’ivyiza kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[15];","footnotes":"[15] Iyo uriko urasoma, ugeze ku mpera y’iyi Aayah uca wubama."},{"id":78,"translation":"Mwitange bikwiye kandi mu guharanira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah murarikira abantu kuyemera; ni Yo Yabatoye kuba abashikirizabutumwa b’idini ryayo, kandi ntiyigeze Ibashingira amabwirizwa arimwo amananiza ashingiye kw’idadika no ku kutagira isaganirizo mu kuyubahiriza mw’idini; idini rya so wanyu Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, Imana Allah ni Yo Yabise abislamu n’imbere yuko hamanurwa Qor’ani mu Bitabu vy’aho hambere; Ibita abislamu no muri iyi Qor’ani nyene kugira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibe icabona kibagiriza ko yabashikirije ubutumwa bw’Imana Allah, na mwe muheze mube ivyabona vyagiriza abantu bo hambere yanyu, ko Intumwa barungikiwe zabashikirije koko ubutumwa bw’Imana Allah. Kubera ivyo rero, nimushimire Imana Allah, muheze mutsimbataze amasengesho akwije ibisabwa, mutange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwishimikize koko Imana Allah kuko ari Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni. Irakaba rero Nkinzoyabatoni, Umwiza w’abahagarikizi bose, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo."}]},{"id":23,"verses":[{"id":1,"translation":"Ni ukuri, abemeramana koko baramaze kuronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":2,"translation":"Abagumiza umutima mu nda bagatururuza n’ibihimba vyabo mu masengesho;"},{"id":3,"translation":"Bakirengagiza amajambo n’ibikorwa vy’imburakimazi;"},{"id":4,"translation":"Bakeza n’imitima n’amatungo vyabo mu gutanga ishikanwa-bwirizwa;"},{"id":5,"translation":"Bagacungera n’ubwambure bwabo mu kudasambana[1];","footnotes":"[1] Ukudasambana ni ukutipfuza guhuza ibitsina ku babisangiye canke ku batabisangiye, n’ibindi bibi bijanye n’ubusambanyi."},{"id":6,"translation":"Kiretse ku bakenyezi babo canke abo bagaba mu ncoreke, kuri abo nta kibi kiri mu kubabira n’ibindi bijanye no kwabira;"},{"id":7,"translation":"Uwuzorondera kuryoherwa ku batari abo, uyo azoba ari mu barenze imbibe z’ibirekuwe agatandukira ibizira, azoba yikwegeye ibihano n’ishavu vy’Imana Allah;"},{"id":8,"translation":"Abitwararika nantaryo gucungera imbitso baragijwe no kwubahiriza amasezerano biyemeje;"},{"id":9,"translation":"Abatsimbataza amasengesho mu gihe cose no ku mwanya wayo, bakayasenga nk’uko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yayasenga;"},{"id":10,"translation":"Abo ni bo rero ba samuragwa b’Ubwami bw’ijuru;"},{"id":11,"translation":"Bazotorana Ubwami bw’ijuru ry’iteka rya Firdawsi, bazobubamwo ibihe bidahera."},{"id":12,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye Adamu mu ruvange rw’ivu;"},{"id":13,"translation":"Hanyuma Turema abamukomotseko mu buryo bwo kurondoka mw’ima ry’intanga riva mu ruti rw’umugongo w’umugabo, rigaturura mu gitereko c’umugore;"},{"id":14,"translation":"Hanyuma Turema muri nya ma ry’intanga igihimba c’amaraso avuze, maze Turema muri nya gihimba c’amaraso avuze, akamanyu k’inyama inyuma y’ikiringo c’imisi mirongo ine; Duca Turema amagufa muri nya kamanyu, Turaheza rero Tuyambika inyama, mu nyuma rero Turaheza Duha nya kiremwa iyindi ndemo mu kugihuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, kigaheza kikavuka ari kizima. Harakubahwa rero Imana Allah Yahaye ikintu cose indemo nziza ikibereye."},{"id":15,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri rero, no kubaho kwanyu kwose ubuzima bwanyu bwo kw’isi, hari ugupfa mu nyuma, nta gisivya urwanyu rushitse muzopfa."},{"id":16,"translation":"Hanyuma mu vy’ukuri ga bantu! Umuhero w’isi niwagera mugahona, ku musi w’izuka muzosubizwa ubuzima kandi muzuke, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":17,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranaremye amajuru indwi agerekeranye hejuru yanyu, kandi ntivyigeze bishika ngo Tugotwe canke ngo Twibagire iremwa ry’ikintu na kimwe."},{"id":18,"translation":"Twaranatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere ku rugero rukenewe, Turaheza Tuziganya amazi ya nya mvura mw’isi. Mu vy’ukuri, Turanashoboye kandi no gukamya nya mazi akagenda amazimayongo."},{"id":19,"translation":"Hakoreshejwe nya mazi rero, Turaheza Tukabagirira imirima itotahaye y’itende n’imizabibu, maze mugasarura muri nya mirima ivyamwa vyinshi bitandukanye ibara n’indemo, mugaheza mukanabifungurako;"},{"id":20,"translation":"Tukanabamereshereza n’igiti c’Umuzayituni kimera canecane hambavu y’umusozi wa Sinayi, mu vyamwa vyaco rero haraheza hagahingurwamwo amavuta abantu bisiga bakanayafungura."},{"id":21,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri, murafise mw’iremwa ry’ibitungwa[2] inkebuzo yotuma mwikebuka, Tubanywesha mu biri mu nda yavyo amata, muranafise kuri ivyo bitungwa ibintu vyinshi ngirakamaro mwikorako; nk’ubwoya, insato n’ibindi, muranafungura n’inyama zavyo;","footnotes":"[2] Ibitungwa, ni ingamiya, inka n’intungwa (an'aam)."},{"id":22,"translation":"Mukaniyunguruza mwebwe hamwe n’ivyanyu ku ngamiya no mu bwato."},{"id":23,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse Nuhu ku bantu biwe, ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah, mugaheza mukubahiriza amabwirizwa yayo!”."},{"id":24,"translation":"Indongozi z’abagararije mu bantu ba Nuhu, zarahakanye zivuye inyuma zibwira abantu bazo ziti: “Burya Nuhu abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu asanzwe nkamwe, ashaka gusa ko mumwubaha mukamwumvira. N’iyo Imana Allah Ishaka kuturungikira koko Intumwa, Yari kurungika Intumwa ivuye mu bamalayika, eka ntitwigeze twumva ivyo aturarikira ku bavyeyi bacu b’aho hambere;"},{"id":25,"translation":"Uyu Nuhu rero, si ikindi kiretse ko ari umukehabwenge. Kubera ivyo rero, enda nimumuhe akanya gato gushika agarure akenge, aheze areke kwigira Intumwa, canke mumutege imisi apfe mumuruhuke”."},{"id":26,"translation":"Nuhu yavuze atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ntabara kw’ihakana ry’abantu banje, kuko bamirira kure ubutumwa bwawe ndabashikiriza”."},{"id":27,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twahishurira Nuhu Tukamubwira Duti: “Baza kw’itegeko ryacu ubwato ku mugaragaro, aho Twebwe Allah Tubona n’amaso yacu kuko ukingiwe. Igihe itegeko ryacu ryo kubahonya ryageze, maze hakaboneka imbizi izananye mw’ifuru, uraheza ushire mu bwato igitsina-gabo n’igitsina-gore kuri buri bwoko bwose bw’ibiremwa, wongere ushiremwo n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe n’umuhungu wawe bamaze kwagirwa n’ibihano, kandi ntuhirahire ngo unsabe ko notenyenya guhana abirenganije, kuko mu vy’ukuri bazotwarwa n’isegenya."},{"id":28,"translation":"Niwamara kwurira mu bwato wewe hamwe n’abo muri kumwe, uraheza uvuge uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yaturokoye, Ikadukura mu bantu birenganije mw'igarariza”;"},{"id":29,"translation":"Niwururuka muri nya bwato naho nyene wongere uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubwururuko buhezagiwe butekanisha, kuko ari Wewe Umwiza w’abakira mw’iteka n’itekane[3]\".","footnotes":"[3] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yigisha abaja bayo mu gihe bururukiye ahantu ko bovuga bati: “RABBI ANZILNII MUNZALAN MUBAARAKAN WA-ANTA KHAYRU L-MUNZILIINA”"},{"id":30,"translation":"Mu vy’ukuri, muri ukwo kurokora abemeramana no guhonya abagarariji, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ukuri kw’Intumwa ku vyo zashikirije, Twategerezwa rero no kugerageza koko abantu kw’irungikwa ry’Intumwa imbere yuko bashikirwa n’ibihano."},{"id":31,"translation":"Mu nyuma y’abantu ba Nuhu rero, Twagize uwundi mugwi wa Bene Aadi."},{"id":32,"translation":"Turaheza Turungikira Bene Aadi Intumwa Hudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ivuye muri bo, iraheza ibabwira iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah mugaheza mukubahiriza amabwirizwa yayo!”."},{"id":33,"translation":"Mu bantu ba Huudi, indongozi z’abamugararije bakanahakana bivuye inyuma n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa, zikaba zatewe amanyama n’uko Twazihaye ukworoherwa mu buzima bwo kw’isi, zavuze ziti: “Burya Huudi, abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe; afungura ku vyo na mwe mufungura, akanywa ku vyo na mwe munywa;"},{"id":34,"translation":"Nimwahirahira ngo mwumvire umuntu nkamwe rero, nta nkeka ko mu vy’ukuri muzoba mu bahomvye;"},{"id":35,"translation":"Mwokwemera gute ivyo abasezeranira ko nimwapfa mugacika ivu n’amagufa yaboze, muzosubizwa ubuzima mukazuka!"},{"id":36,"translation":"Iryo zuka musezeranirwa ko rizobaho inyuma yo gupfa mugacika ivu n’amagufa yaboze, riri kure nk’ukwezi pe!"},{"id":37,"translation":"Ubuzima dukwiye kubaho ni ubu bwo kw’isi gusa! Abapfa barapfa, hakavuka abandi. Wanguha! Nta buzima tuzosubizwa ngo tuzuke inyuma yo gupfa;"},{"id":38,"translation":"Burya Huudi, si ikindi kiretse ko ari umuntu arementaniriza Imana Allah ivyo Itamutumye, eka ntiturota tumwemera namba”."},{"id":39,"translation":"Hudi yavuze atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ntabara kw’ihakana ry’abantu banje, kuko bamirira kure ubutumwa bwawe ndabashikiriza”."},{"id":40,"translation":"Imana Allah Iraheza Yishura Huudi Iti: “Vuba bwango, ni ukuri bazoheza bicuze”."},{"id":41,"translation":"Ntibwakeye kabiri, ni ho rero abantu ba Hudi bahitanwa n’ibihano vy’ukuri bihonya, maze Tubagira nk’ivyaciriwe n’inkukura hirya n’ino y’umugende. Haragahona rero abantu birenganije mu kugarariza Intumwa."},{"id":42,"translation":"Mu nyuma y’abantu ba Hudi rero, Twagize iyindi migwi y’abantu barungikiwe Intumwa Luutwi, Shu’ayibu, Ayubu na Yunusu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah)."},{"id":43,"translation":"Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ryarenganye."},{"id":44,"translation":"Hanyuma ni ho rero, Twarungikira nya migwi Intumwa zacu zikurakuranwa; igihe cose Intumwa yararikira abo yarungitsweko kwemera Imana Imwe Rudende Allah, barayihakana bivuye inyuma, Tugaca Tubakurikiranya mu kubahonya bagasigara ari akayazwe, Tugaheza Tukabagira iciro ry’umugani ku bakurikiye kugira bikebuke. Haragahona rero abantu batemera Intumwa ngo bazumvire."},{"id":45,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Twarungikana Musa na murumunawe Haruna ibitangaro vyacu icenda[4], kugira bibe ivyemezo bitomoye bitsimbataza abemeramana, bibe n’ivyagiriji ku bantu b’ibibegito n’abagarariji;","footnotes":"[4] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso."},{"id":46,"translation":"Twabarungitse kwa Firawuni wo muri Misiri n’abunganizi biwe, maze bagira amanyama mu kutemera Musa na murumunawe Haruna, bari n’abantu bihambaza mu gucinyiza abandi;"},{"id":47,"translation":"Maze bavuga bati: “Karashize ingani twemere abantu babiri basanzwe nkatwe, kandi abo barungitsweko muri Bene Israyeli ari abashumba bari musi y’amategeko yacu, kandi baca bugufi kuri twebwe!”."},{"id":48,"translation":"Ni ho rero Firawuni wo muri Misiri n’abunganizi biwe bahakana bivuye inyuma Musa na Haruna, maze Imana Allah Ica Irabahonya mu gusomeshwa nturi."},{"id":49,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati kugira Bene Israyeli bacubahirize mu kuba abagororotsi."},{"id":50,"translation":"Tugira na Isa mwene Mariyamu hamwe na nyina wiwe igitangaro cerekana ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah, Twaranabakiriye mw’icumbi ku gasozi k’iteka n’itekane, kariko n’imbizi y’amazi atemba."},{"id":51,"translation":"Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose[5].","footnotes":"[5] Ingingo ivugwa muri iyi Aayah yega Intumwa z’Imana zose hamwe n’abemeramana bazikurikiye. Iyi Aayah kandi iranigisha ko ugufungura mu vyiza biryoshe birekuwe gufasha umuntu kunonokerwa mu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe, n’uko gufungura ibibi bizira bitera umuntu amagorwa harimwo no kutemererwa igisabisho."},{"id":52,"translation":"Ntumwa z’Imana! Mu vy’ukuri idini ryanyu, ni idini rimwe ry’ubwislamu ryo kwicisha bugufi no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni nanje rero Imana yanyu Rurema Allah mukwiye kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje."},{"id":53,"translation":"Ariko rero abantu, ni bo bahavuye bicamwo imigwi ha gukurikira idini rimwe ry’ubwislamu bategetswe, gutyo umugwi wose muri yo unezerezwa n’ivyiyumviro vyawo, unebagura ivy’uwundi mugwi[6].","footnotes":"[6] Iyi Aayah irihaniza cane abantu kwicamwo imigwi mw’idini."},{"id":54,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bareke bajuragirike mu bugarariji bwabo bwo ku kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana gushika igihe bashikiwe n’ibihano."},{"id":55,"translation":"Mbega abagarariji bibwira ko ivyo Tubaronsa mu matungo n’ibibondo;"},{"id":56,"translation":"Tuba Twihutiye kubaha ivyiza bakwiye bakiri kw’isi! Ahubwo nyabuna, Tubaronsa amatungo n’ibibondo kw’igeragezwa kugira barendegere, gutyo Tubakwegere mu bihano bukebuke, ariko nta vyo bumva."},{"id":57,"translation":"Mu vy’ukuri, abatinya guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah ku mpungenge zo gutinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah;"},{"id":58,"translation":"Bakemera na Aayah z’Imana yabo Rurema Allah ziri muri Qor’ani bakanazigendera;"},{"id":59,"translation":"Batabangikanya Imana yabo Rurema Allah n’ikintu na kimwe, maze bakayisenga ari Imana Imwe Rudende;"},{"id":60,"translation":"Bakigorera gukora ivyiza bitandukanye, bafise impungenge mu mitima yabo ko vyohava bitemerwa, ngo bibakize ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah igihe basubiye kuri Yo, kugira Ibaharurire, Iheze Inabibahembere;"},{"id":61,"translation":"Abo ni bo rero barangwa koko n’uguhurumbira gukora ivyiza bitandukanye, bakitanganiza no kubikora."},{"id":62,"translation":"Twebwe Allah, ntitunategeka umuja mu baja bacu kwubahiriza ibirimwo amananiza kuri we, Turanafise n’igitabu canditswemwo ido n’ido y’ibikorwa vy’ibiremwa kizobagiriza vy’ukuri, kandi ntibazorenganywa namba."},{"id":63,"translation":"Ariko imitima y’abagarariji, iri mu buhuvyi bwo guhakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa yayo, bafise n’ibindi bikorwa bibi bakora hamwe n’ibangikanyamana bizotuma bakwegerwa mu bihano bukebuke;"},{"id":64,"translation":"Gushika n’aho iyo Dufashe aborohewe mu buzima muri bo Tukabashikura, baca basemerera batakamba, bitabariza;"},{"id":65,"translation":"Maze bagaca babwirana bati: “Nimugeze aho gusemerera, mutakamba mwitabariza kuri uno musi, mu vy’ukuri ntimushobora kwikura mu bihano vy'Imana Allah, eka nta n’uwo muronka abibakurako."},{"id":66,"translation":"Ni ukuri, mwahora musomerwa Aayah zanje Jewe Allah ziri muri Qor’ani, mugaca muziha umugongo mu kutazumviriza no mu kutazemera ngo muzigendere;"},{"id":67,"translation":"Ivyo mukabigira ku manyama n’ubwishime ku bantu, mwigamba ko mutigera muganzwa kuko muri hambavu y’ingoro ntagatifu Al-ka’ba, mugateramira hambavu ya nya ngoro muvuga amajambo mabi adashimisha Imana Allah\"."},{"id":68,"translation":"Mbega ntibazirikana Qor’ani ngo bamenye ukuri kwayo, canke babujijwe kuyemera n’ukuba barungikiwe Intumwa n’Igitabu ca Qor’ani, bitigeze birungikirwa ba se b’aho hambere!"},{"id":69,"translation":"Canke ntibamenye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) barungikiwe, baraheza bayihakana ku kutayimenya!"},{"id":70,"translation":"Canke ku kuba bibwiye ko nya Ntumwa ari umusazi! Nibateshwe bate, ahubwo bahakana iyo Ntumwa kuko yabazaniye Qor’ani n’idini ry’ukuri rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah, kandi abenshi muri bo banka ukuri ku kubera ishari n’akarenganyo."},{"id":71,"translation":"Iyo Imana Allah Ibashingira amabwirizwa ahuye n’ivyipfuzo vyabo, nta nkeka ko amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo vyari kwononekara. Ahubwo rero burya Twebwe Allah, Twabazaniye Qor’ani irimwo iteka n’icubahiro vyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nibaba bibuka, hanyuma bagaheza bakavyirengagiza."},{"id":72,"translation":"Ntumwa y’Imana! Canke boba banse kwemera kuko ubasaba impembo kugira bakwumvire, maze bakabura nya mpembo! Ntibikabe rero ko wobasaba impembo kuko impembo uzeye ku Mana yawe Rurema Allah, ni nziza gusumba, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa."},{"id":73,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, nta nkeka ko wewe urarikira abantu warungitsweko mu nzira igororotse y’idini ry’ubwislamu."},{"id":74,"translation":"Mu vy’ukuri, abatemera ko hari izurwa ry’ibiremwa kugira biharurirwe ku vyo vyakoze ngo baryitegurire, barazimiye inzira igororotse y’idini ry’ubwislamu."},{"id":75,"translation":"N’iyo rero Twebwe Allah Tubagirira impuhwe Tukabakurako amapfa, nta cari kubuza ko batarendegera mu bugarariji, bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana."},{"id":76,"translation":"Ni ukuri, Twarabagerageje mu kubaha ibihano bitandukanye, ntibaheza ngo bicishe bugufi ku Mana yabo Rurema Allah, eka ntibanayitakambiye igihe bashikirwa na nya bihano;"},{"id":77,"translation":"Gushika igihe Twabugururiye umuryango w’ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bagaheza bakihebura muri nya bihano, batagira ayo bacira n’ayo bamira."},{"id":78,"translation":"Bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye amatwi kugira mushobore kwumva, Ibagirira n’amaso kugira mushobore kubona, Ibagirira n’imishaha kugira mushobore gutegera muheze mwikebuke. Hamwe n’ivyo vyose rero, mushima gake."},{"id":79,"translation":"Ni Yo Yabaremye Ibakwiragiza kw’isi, ni no kuri Yo muzokwegeranirizwa ku musi w’izuka kugira muhemberwe ivyo mwakoze; vyaba ivyiza canke ibibi."},{"id":80,"translation":"Ni Yo kandi Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikanakurakuranya ijoro n’umurango mw'ibisikanya ryavyo. Mbega none, ntimugira ubwenge ngo mutahure ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende!"},{"id":81,"translation":"Ahubwo rero, abagarariji ntibigeze bemera izurwa ry’ibiremwa inyuma yo gupfa, ahubwo barinamuye mu gusubiramwo kuvuga nk’ivyavuzwe n’ab’aho hambere;"},{"id":82,"translation":"Maze bavuga bati: “Burya nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko!"},{"id":83,"translation":"Muhama! Ni ukuri iryo zurwa udusezeraniye, ni ryo n’abavyeyi bacu basezeraniwe aho hambere yacu, nta kuri kwaryo tubona. Iryo sezerano rero, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”."},{"id":84,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza abagarariji ubabwire uti: “None iyi si n’ibiri muri yo, ni nde Rugaba wavyo, nimwaba hari ico muzi koko!”."},{"id":85,"translation":"Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Rugaba wavyo ni Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ubwo ntimwokwibuka mukameya ko Imana Allah Ishoboye kuzura n’abapfuye!”."},{"id":86,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire uti: “Ni nde Imana Rurema w’amajuru indwi, Ikaba n’Imana Rurema w’Ubuhangamo buhambaye kuruta ibindi biremwa vyose!”."},{"id":87,"translation":"Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Rugaba wavyo ni Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah iyo muriko murayibangikanya n’ibiremwa!”."},{"id":88,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire kandi uti: “Ni nde Agaba Akaganza ibintu vyose mu kubibeshaho, Agatabara uwugize ivyago, ata n’uwushobora gutabara ngo akingire uwundi ibihano n’ivyago Yamugereye nimwaba hari ico muzi koko!”."},{"id":89,"translation":"Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Ivyo vyose biganzwa n’Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ni gute none mwihenda mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah no mu kutemera izurwa ry’ibiremwa!”."},{"id":90,"translation":"Ahubwo rero Twebwe Allah, Twazaniye abahakanyi ukuri mu vyo Twarungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); mu vy’ukuri abahakanyi, nta nkeka ko banyomoza mw’ibangikanyamana no mw’ihakana ry’izurwa ry’ibiremwa."},{"id":91,"translation":"Imana Allah, ntiyigeze Yigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’iyindi mana ibangikanya na Yo; iyo rero haba iyindi mana ibangikanije na Yo mu kurema, nta nkeka ko imana imwimwe yose yari kwigungana ibiremwa vyayo, hakaba n’ukwiganza kw’imana imwe ku yindi mu gutunganiriza ibiremwa. Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera."},{"id":92,"translation":"Ni Yo Rumenyi w’ibintu vyose, Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, nihabwe rero icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya."},{"id":93,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Uramutse Unyeretse ibihano Usezeranira ababangikanyamana, ndagusavye ko Wonkingira nya bihano;"},{"id":94,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye ntunshire mu bantu birenganya mu kukugarariza, Ugahava Unshavurira”."},{"id":95,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, nta nkeka ko Dushoboye kukwereka ibihano Dusezeranira ababangikanyamana."},{"id":96,"translation":"Kubera ivyo rero, nihagira uwukugirira nabi mu bansi bawe mu mvugo canke mu ngiro, uraheza wishure nya nabi iciza. Burya Twebwe Allah, Turazi neza na neza ivyo barementanya mw’ibangikanyamana, Tuzobibahembera impera bikwiranye."},{"id":97,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ndakwikinzeko Unkingire inyoshambi z’amashetani zituma umuntu agenzwa n’ubwononyi akanarwanya n’ukuri;"},{"id":98,"translation":"Ndanakwikinzeko Mana yanje Rurema Allah, Unkingire ko nya mashetani yomvogera mu vyanje”."},{"id":99,"translation":"Igihe rero umwe mu babangikanyamana yashikiwe n’urupfu, ari ku mpfiro akabona yugarijwe n’ibihano yasezeraniwe, azovuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndabasavye ko Mwonsubiza kw’isi;"},{"id":100,"translation":"Kumbure hari n’aho nokwemera nkumvira Imana Allah mu gukora ibikorwa vyiza, mu vyo nirengagije gukora!”. Eka nateshwe ate aranguha! Ako ni akarimi gusa, ayo ni amajambo avuga atavuye ku mutima; hamwe yoramuka asubijwe kw’isi, nta nkeka ko yokora kandi ivyo yabujijwe. Abamaze gupfa rero, bazitiwe n’uruzitiro “Barzakhi[7]” rutuma badashobora kugaruka kw’isi gushika ku musi w’izuka.","footnotes":"[7] Umuntu uwo ari we wese amaze gupfa agasezera isi, aca azitirirwa mu kuzimu ku buryo adashobora kugaruka kandi mu buzima bwo kw’isi, maze akaguma muri “Barzakhiˮ mu kurindira isango ryo kuzuka, kugira aharurirwe yongere ahemberwe ivyo yakoze kw’isi."},{"id":101,"translation":"Igihe rero havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, kuri uwo musi nta kwihaya ku miryango kuzobaho hagati y’ibiremwa nk’uko vyari kw’isi, eka nta n’uwuzobaza ivya mugenziwe."},{"id":102,"translation":"Uwuzogira ivyiza vyinshi, maze umunzane w’ivyiza vyiwe ukaremera igihe c’iharurirwa, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru."},{"id":103,"translation":"Nayo uwuzogira ivyiza biri ku rushi, maze umunzane w’ivyiza vyiwe ugahwahuka igihe c’iharurirwa, uyo rero azoba ari mu bahomvye ubuzima bwabo, bazoba mu muriro wa Jahannamu ibihe bidahera;"},{"id":104,"translation":"Nya muriro uzobababura mu maso, maze banyinyirwe bashinyirize muri wo, amenyo ari hejuru;"},{"id":105,"translation":"Baheze babwirwe bati: “Mbega ntimwahora musomerwa Aayah zanje Jewe Allah mukiri kw’isi mukazihakana mwivuye inyuma!”."},{"id":106,"translation":"Bazokwishura bavuge bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ubugaba bwacu twabutewe no guhurumbira kwacu ibihendamaso vy’isi, twari no mu bantu bahuvye inzira igororotse;"},{"id":107,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Turatakamvye Udukure mu muriro, maze Udusubize kw’isi, nitwaramuka dusubiye mu buhuvyi, mu vy’ukuri tuzoba twirenganije koko, dukwiye no guhanwa”."},{"id":108,"translation":"Imana Allah Izobishura Ibabwire Iti: “Nimugume mu muriro musuzuguritse, nimukazibe ntimunamvugishe namba;"},{"id":109,"translation":"Umugwi w’abemeramana mu baja banje bahora batakamba bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twaremeye vy’ukuri, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Unatugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abagirampuhwe bose”;"},{"id":110,"translation":"Maze muraheza mubateburako gushika n’aho babibagiza kuninahaza no kuntazira, mwahora munabatwenga ku gasuzuguro;"},{"id":111,"translation":"Mu vy’ukuri rero Jewe Allah, kuri uno musi Nahaye uwo mugwi w’abemeramana mu baja banje ku kuntu bihanganye, impera yo kuba ari bo benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru”."},{"id":112,"translation":"Ibigaba biri mu muriro bizoheza bibazwe biti: “Mwabaye kw’isi imyaka ingana iki! Mwirengagije kangahe gukora ibikorwa vyiza!”."},{"id":113,"translation":"Nya bigaba bizokwishura biti: “Twabaye kw’isi umusi umwe gusa canke igice cawo! Baza n’abazi guharura neza, barashobora kwemeza ivyo tuvuze!”."},{"id":114,"translation":"Bizokwishurwa biti: “Burya ntimwabaye kw’isi kiretse akanya gato, iyo rero mubimenya mukihanganira igamburukiramana muri ako kanya gato, mwari gutsindira Ubwami bw’ijuru”."},{"id":115,"translation":"Mbega bantu! Mwiyumvira ko Twebwe Allah Twabaremye mu gufyina ata ntumbero Tubafiseko; n’uko mutazosubizwa iwacu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Tubahembere ivyo mwakoze!"},{"id":116,"translation":"Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri[8], nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Imana Rurema w’Ubuhangamo bwubashwe.","footnotes":"[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo."},{"id":117,"translation":"Uwo wese rero asenga iyindi mana hamwe n’Imana Allah, kandi ata n’icemezo afise cemeza isengwa ry’iyo mana yindi, ni ukuri iharurwa ry’ibikorwa vyiwe bibi riri ku Mana yiwe Rurema Allah. Abagarariji ntibazokira namba ibihano vyo ku musi w’izuka."},{"id":118,"translation":"Muvugishwamana! Uraheza rero uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro, Unagirire impuhwe abaja bawe, burya Wewe ni We Mwiza w’abagirampuhwe bose”"}]},{"id":24,"verses":[{"id":1,"translation":"Iki ni igisomwa gihambaye Twamanuye muri Qor’ani, Tunabwiriza gushira mu ngiro ingingo ziri muri co, Twakimanuyemwo n’ivyemezo bitomoye kugira mwikebuke."},{"id":2,"translation":"Umusambanyikazi n’umusambanyi mu gihe batarubaka izabo, igihano c’umwe wese muri bo, ni ugukubitwa ibimoko ijana[1]. Ukubumvira impuhwe rero, ntikuzotume mudashira mu ngiro canke mutezura ico gihano nimwaba mwemera Imana Allah koko hamwe n’umusi w’iherezo, munubahiriza neza n’amabwirizwa y’ubwislamu. Ishirwa mu ngiro ry’ico gihano rero, ritegerezwa gushengererwa n’abemeramana ku kugira babone ububi bw’ico caha c’ubusambanyi, maze bavavanure na co hamwe no kucihanikiriza.","footnotes":"[1] Vyarakiriwe mu migenzo y’intumwa ko hamwe n’ivyo bimoko ijana akubitwa, aheza akangazwa mu kiringo c’umwaka umwe."},{"id":3,"translation":"Umusambanyi, ntashima gushingirwa kiretse umusambanyikazi nkawe canke umubangikanyamanakazi atemera ko ubusambanyi ari icaha. Kukaba nkako, n’umusambanyikazi nyene ntashima gushingirwa, kiretse umusambanyi nkawe canke umubangikanyamana atemera ko ubusambanyi ari icaha. Nayo abacungera ubwambure bwabo mu bemeramana, ntibashima namba gushingirwa muri ubwo buryo kuko ishingirwa nk’iryo ari ikizira ku bemeramana[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah, ni icemezo kiziririza ishingirwa ry’umusambanyikazi canke ry’umusambanyi atabanje kwigaya icaha c’ubusambanyi."},{"id":4,"translation":"Abakorera inteba ishushe intore ata co zinona mu bagore n’abagabo mu kuzagiriza icaha c’ubusambanyi, hanyuma ntibazane ivyabona bine vy’intungane bizagiriza nya caha, murabaha igihano co gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hamwe no kutemererwa kuba ivyabona kandi mu buzima bwabo bwose. Abo rero, ni na vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":5,"translation":"Ariko rero, abazokwigaya mu nyuma, bakicuza kuri nya caha co kwagiriza ubusambanyi intore ata co zinona, bagaheza bakitunganya mu gukora ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Izobumvira, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":6,"translation":"Abakorera inteba ishushe abakenyezi babo mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, ata n’ivyabona bindi vy’intungane bafise vyagiriza abo bakenyezi nya caha, kiretse bo bonyene ubwabo, umwe wese muri bo ategerezwa kwemanga imbere y’ubutungane mu kurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko mvugisha ukuri ku caha c’ubusambanyi nagiriza umukenyezi wanje”;"},{"id":7,"translation":"Aheze yongereko n’indahiro igira gatanu yo kwisabira imivumo y’Imana Allah avuga ati: “Ndakavumwa n’Imana Allah, ninaba mbeshera umukenyezi wanje ku caha c’ubusambanyi ndamwagiriza”."},{"id":8,"translation":"Kuri iyi ndahiro igira gatanu, umukenyezi wiwe aca yagirwa na nya caha c’ubusambanyi, agaheza agahabwa igihano co guterwa amabuye gushika apfe. Nta gikura ico gihano kuri nya mukenyezi, kiretse ukurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko umugabo wanje ambeshera ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”;"},{"id":9,"translation":"Aheze yongereko n’indahiro igira gatanu yo kwisabira gushavurirwa n’Imana Allah avuga ati: “Ndagashavurirwa n’Imana Allah, umugabo wanje niyaba avugisha ukuri ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”. Kuri iyi ndahiro igira gatanu rero, baca bahukanishwa."},{"id":10,"translation":"Iyo hataba impano z’Imana Allah n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, mu gushinga ingingo yo kwahukana kw’abubakanye bagirizanya ubusambanyi mu gihe barahiye, umubeshi muri bo yari guhanishwa igihano yisabiye mu kurahira, ivyo rero biri ukwo kuko Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":11,"translation":"Mu vy’ukuri, abazanye inkuru y’irementanya y’icaha c’ubusambanyi bagirije umuvyeyi w’abameramana Aisha (Imana Allah Imwishimire), ni akagwi k’abantu muri mwebwe nyene. Ntimwibaze rero ko iryo rementanya harimwo inabi kuri mwebwe, ahubwo harimwo ineza kuri mwebwe kuko ari yo mvo y’iyezwa ry’umuvyeyi w’abemeramana Aisha kuri ico caha, vyongeye ni n’igeragezwa ku bemeramana. Uwo wese rero, yakwiragije iryo rementanya yarakoze icaha ategerezwa guhanirwa; nayo uwagize[3] uruhara rukomeye muri bo mw’ikwiragizwa ry’iryo rementanya, arategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.","footnotes":"[3] Ni umukuru w’indyarya yitwa Abdu Llaahi mwene Ubayyi mwene Saluul."},{"id":12,"translation":"Ese iyo bamwe ku bandi muri mwebwe abemeramana biyumvira bagashira imbere ineza igihe mwumviye nya rementanya, maze bakavuga bati: “Iyi nkuru, ni irementanya ryeruye kuri Aisha (Imana Allah Imwishimire)!”."},{"id":13,"translation":"Abazanye iryo rementanya, ntibari gupfuma bazana ivyabona bine vy’intungane biryemeza! Ku kubera ko rero batashoboye kuzana nya vyabona, abo ku Mana Allah ni bo babeshi ruhebwa."},{"id":14,"translation":"Iyo hataba impano z’Imana Allah kuri mwebwe abemeramana mu kutihutira kubahana kw’isi, hamwe n’impuhwe zayo mu kwumvira abigaya muri mwebwe, mwari gukorwako n’ibihano rutura bitewe n’ikwiragizwa ry’iryo rementanya."},{"id":15,"translation":"Igihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura[4]!","footnotes":"[4] Ugukwiragiza igihuha, kuba kurimwo ivyaha bibiri; ukuvuga ikinyoma hamwe rero no kuvuga ico umuntu adafitiye ubumenyi bucemeza. Iyi Aayah rero, irihaniza yivuye inyuma ugufata minenegwe ikwiragizwa ry’igihuha."},{"id":16,"translation":"Igihe mwumviye nya rementanya, ntimwari gupfuma muvuga muti: “Eka ntiturekuriwe namba kuvuga iki kinyoma, ininahazwa ni iryawe Mana, ukubeshera umukenyezi w’Intumwa yawe ntibikabe, iri ni irementanya rutura kandi rihanwa”."},{"id":17,"translation":"Imana Allah, Irabibutsa Ibihaniza ko mutopfa musubiriye kugira irementanya nk’iri nimwaba muri abemeramana koko."},{"id":18,"translation":"Imana Allah, Iranabatomorera Aayah zayo zirimwo ingingo n’inyigisho mukwiye kugendera, burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora; Intungane mu vyo Ikora."},{"id":19,"translation":"Mu vy’ukuri, abakunda ko ukwagirizanya ubusambanyi n’ukwambikana ibara bikwiragizwa mu bemeramana nibatigaya nya caha, barategekanirijwe ibihano bibabaza kw’isi[5] hamwe rero n’umuriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo babesha mu gihe mwebwe ata vyo muzi.","footnotes":"[5] Gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hatibagiwe kubaho mu maganya."},{"id":20,"translation":"Iyo hataba impano z’Imana Allah hamwe n’impuhwe zayo ku bakwiragije inkuru y’irementanya muri mwebwe abemeramana, Imana Allah ntiyari kubatomorera izi ngingo n’inyigisho ngo mwikebuke, Yari kwihutira nyabuna kubahana. Ivyo rero biri ukwo, kuko Imana Allah ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":21,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugakurikire inzira za shetani, burya uwukurikiye inzira za shetani, nta nkeka ko shetani imwosha ikamutegeka gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Iyo rero hataba impano z’Imana Allah hamwe n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, nta n’umwe muri mwebwe yopfuye yiyejeje ivyaha n’ibicumuro, ariko rero Imana Allah ku mpuhwe zayo Yeza uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza n’ivyo muzirikana."},{"id":22,"translation":"Abatewe iteka mw’idini no mu kuronswa ikibabeshaho, ntibakarahire ko baretse gufasha mu gutera inkunga abavandimwe babo bakenye, abakene batagira shinge na rugero n’abimutse mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, maze bakareka kubafasha ku mvo y’icaha bakoze, barabagirira ikigongwe ku caha babakoreye, baheze bacirengagize. None mweho ntimukunda ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha mwakoze Ikabababarira! Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[6].","footnotes":"[6] Iyi Aayah irahimiriza umuntu ko agirira ikigongwe uwamugiriye nabi, akirengagiza kumwihora n’aho uwamugiriye nabi atohaha gusubira kumugirira nabi."},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri, abakorera inteba ishushe abakenyezi bubatse izabo ata n’ico binona, abemeramanakazi batigera biyumvira na rimwe ko bosambana, mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, barategekanirijwe n’ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu ku musi w’izuka[7];","footnotes":"[7] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko uwututse uwundi canke akambika ibara umwe mu bakenyezi b’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) aba agararije."},{"id":24,"translation":"Umusi indimi zabo zizobagiriza ku vyo bavuga, amaboko n’amaguru na vyo bikabagiriza ku vyo bakoze bakiri kw’isi."},{"id":25,"translation":"Kuri uwo musi rero, Imana Allah Izobahemba ku vyo bakoze impembo ikwiye vy’ukuri. Aho rero, bazoheza bamenye kandi ko Imana Allah ari Yo Nyakuri[8], Nyenugutomora.","footnotes":"[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo."},{"id":26,"translation":"Igihumbu kiberanye n’inshirasoni, amajambo n’ibikorwa vy’ubuhumbu n’ivy’ubushirasoni biberanye n’abantu b’izo ngeso mbi. Intore mu bagabo no mu bagore zirajana, amajambo n’ibikorwa vy’ubutore biberanye n’intore. Izo ntore rero, ziri kure cane y’amabi yose y’ubushurashuzi bazirementaniriza, zirera. Imana Allah Izozigumiriza akabanga, ziheze zibabarirwe ivyaha vyazo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze zironke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":27,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukinjire mu mazu atari ayanyu mutabanje kudodora mukanaramutsa bene yo muti: “Nimugire amahoro y’Imana Allah, mbega twinjire?”. Ukwo kudodora rero, ni vyo vyiza kuri mwebwe ku kugira mwibuke mwongere mwubahirize amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":28,"translation":"Nimutasanga muri nya mazu umuntu n’umwe abitaba akabaha ikaze, ntimuzoyinjiremwo gushika habonetse uwubitaba. Niyabitaba akanka kubaha ikaze, akabasaba gusubira inyuma, murasubira inyuma mutarinze guhadikiriza, maze mugende mu bwitonzi nta ngere, ico ni na co kibeza gusumba, ha kubona ivyo mutarekuriwe hamwe mwohadikiriza kwinjira. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora vyose, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":29,"translation":"Ariko rero, nta kabi kuri mwebwe ko mwinjira mu mazu atagenewe kubamwo abantu mutabanje kudodora, mu gihe hoba hari ico mukeneyeyo; nk’amazu yagenewe kuba uburaro bw’ingenzi, n’ayandi mazu rusangi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mugaragaza n’ivyo muhisha."},{"id":30,"translation":"Muvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira[9]; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze;","footnotes":"[9] Mu kutagaragaza ubwambure, kudasambana, kutipfuza abagabo ku bandi canke abagore ku bandi, n’ibindi."},{"id":31,"translation":"Bwira n’abemeramanakazi bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira mu bwambure, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira, ntibanagaragarize abagabo ibisharizo vyabo bambaye, ahubwo bagerageze guhisha nya bisharizo, kiretse impuzu bambaye mu gihe zitoba imvo y’igeragezwa. Baraheza rero barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mw’izosi no ku gikiriza, kandi ntibazogaragaze namba ibisharizo bambaye kiretse gusa ku bagabo babo[10], ba se canke ba sebukwe[11], abana babo canke abana b’abagabo babo b’abahungu, basaza babo, abana b’abahungu ba basaza babo canke aba benewabo, abislamukazi, abashumba babo, abagabo bagenzwa no kuronswa icorirenza batigera bipfuza abagore, abana b’abahungu bakiri bato bataramenya ubwambure bw’abagore (bataragera mu bigero) ngo babipfuze; abagore ntibakagende badida ibirenge ku buryo ibisharizo bambaye ku maguru nk’imiringa n’ibindi bijegera. Hanyuma rero bemeramana! Muraheza mwigaye mwese ku Mana Allah, maze murangwe n’ingeso hamwe n’imigenzo myiza, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.","footnotes":"[10] Umugabo arekuriwe kubona umubiri wose w’umukenyezi wiwe hamwe n’ibisharizo yambaye, aho avyambaye hose.\n[11] Se w’umugore canke sebukwe arekuriwe kumubona mu maso, mw’izosi, amaboko n’ibiganza vyiwe hamwe n’ivyo yambaye rero mu maso, mw’izosi no ku maboko."},{"id":32,"translation":"Bemeramana! Murashingira abatagira abagabo muri mwebwe no mu beranda mu ncoreke no mu bashumba banyu. Abipfuza kwabira muri bo nibaba bakenye, Imana Allah Izobakenura Ibahe mu mpano zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":33,"translation":"Abadashoboye kurongora ku mvo z’ubukene canke ku zindi mvo, barigumya mu kudatandukira ibizira gushika igihe Imana Allah Yabakenuriye, Ikabaha mu mpano zayo. Abashumba banyu bashaka ko mwandikiranira bakazobariha amahera kugira bikure mu buja, muraheza mwandikirane na bo nimwamenya ko bafise ishaka n’intumbero nziza[12], maze mubaterere mu kubaha no mu matungo mwaronkejwe n’Imana Allah, canke mubahebere nya mahera mwandikiraniye. Ntimuzohatire incoreke zanyu ku gushurashura murondera kuzironkerako amaronko y’ivy’isi. Mbega muzishurashuza gute kandi zishaka kwigumya mu kudakora ibizira! Uwuzozihatira gushurashura azoba acumuye. Mu vy’ukuri, inyuma yo guhatirwa gushurashura, nya ncoreke izobabarirwa. Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[12] Mu kuba ari abagororotsi, bafise ishaka hamwe n’ubushobozi bwo kwironderera icobabeshaho."},{"id":34,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, Twarabamanuriye Aayah za Qor’ani zitomoye zigaragaza ukuri, Tubacira n’agace ku vyashikiye abantu b’aho hambere yanyu, kugira bibere inkebuzo n’inyigisho abagamburukiramana."},{"id":35,"translation":"Imana Allah, ni Yo Muco w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, vyose birongorwa n’umuco w’ubumenyi n’uburongozi vyayo. Akarorero k’umuco w’uburongozi bw’Imana Allah mu kurongora abemeramana, ni nk’umwenge uri mu ruhome wegeranya umuco ngo ntushwiragire; muri nya mwenge hakaba harimwo itara, nya tara rikaba riri mu kiyo, nya kiyo kikaba kimeze nk’inyenyeri yakaka, nya tara na ryo rikatswa n’amavuta y’igiti gihezagiwe c’Umuzayituni, kiri ahantu gishikirwa ku mpande zose n’umuco w’izuba umwanya wose; si mu gihe gusa c’iseruka ry’izuba, eka si no mu gihe gusa c’irenga ryaryo. Nya mavuta rero ya nya giti gihezagiwe ahakwa kwaka akabonesha n’aho yoba ataracanwa n’umuriro; agize ngo aracanwe hoho yaka vy’akaroruhore ukabona hose harakaka, ari umuco ku wundi[13]. Ni nk’ukwo nyene rero umuco w’uburongozi ubonesha mu mutima w’umwemeramana. Burya rero Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Ikamushoboza kuzigama no gukurikira Qor’ani, kandi Imana Allah Icira agace abantu b’abanyabwenge kugira batahure ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.","footnotes":"[13] Umuco w’amavuta ya zayituni ataracanwa hiyongeyeko umuco w’ukwatsa nya mavuta n’umuriro."},{"id":36,"translation":"Uwo muco w’uburongozi rero uri mu misigiti, Imana Allah Yategetse ko yubakwa ikubahwa hakanayagirwamwo izina ryayo mw’ininahaza n’itaziramana no mu gusoma Qor’ani, n’ibindi, maze nya misigiti igasengerwamwo gusa Imana Imwe Rudende Allah mu gitondo no ku mugoroba;"},{"id":37,"translation":"Igaheza Ikaninahazwa Igatazirwa n’abagabo batigera basamazwa n’urudandazwa, canke n’amasezerano bagiranira y’ubuguzi ngo bibakure kw’ininahaza n’itaziramana no gutsimbaza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa. Ivyo vyose rero, bakabikora batinya ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe ibiremwa vyaturumbuye amaso bigahungabana imitima;"},{"id":38,"translation":"Kugira Imana Allah Ibahembe indishi nziza ibereye ku vyiza bakoze, Iheze Ibongerereze no mu mpano zayo mu kugwirizwa indishi. Burya Imana Allah, Ironsa uwo Ishatse indishi irengeye kure cane ibikorwa yakoze Itarinze no kumuharurira."},{"id":39,"translation":"Nayo abagararije Imana yabo Rurema Allah bagahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, ibikorwa vyabo bibwira ko bizobungura mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizobabera impfagusa; nk’icirungu[14] aho uwishwe n’inyota abona mu bugaragwa akiyumvira yihenda ko abonye amazi, ariko yamara kuhashika agasanga nta n’ima ry’amazi ryahigeze. Ni nk’ukwo nyene rero umugarariji azosanga ivyo yakoze ku musi w’izuka vyamubereye impfagusa, ata n’ico vyomwungura, aheze ahasange Imana Allah Iheze Imuhembere ivyo yakoze ata karenganyo. Burya Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa;","footnotes":"[14] Icirungu, ni kurya kuntu ubona ibuheramaso nk’uko hoba hari amazi, ariko wamara kuhagera ntuhasange nya mazi."},{"id":40,"translation":"Canke nya bikorwa bibabere nka kurya kw’umuzimagiza mw’ibahari rirerire ririmwo imikuba y’urutavanako; hejuru ya nya mikuba hari n’iyindi mikuba; hejuru yayo hari igipfungu c’ibicu vyinshi, gutyo habe umuzimagiza hejuru y’uwundi. Uwugize ngo arasohoye ukuboko muri nya muzimagiza agahakwa kutakubona. Ni nk’ukwo nyene rero abagarariji bari mu muzimagiza w’ubugarariji, hiyongeyeko umuzimagiza w’ubuhuvyi n’uw’ubwononyi. Uwo wese rero adahawe n’Imana Allah umuco w’uburongozi vyayo, ntazogenda aronse umuco umurongora."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko ibiremwa vyose biri mu majuru n’isi bininahaza Imana Allah, n’inyoni zikayininahaza zishanje amababa zarara mu kirere! Kimwe cose muri ivyo biremwa rero, Imana Allah Yaracigishije ukuntu kiyisenga kikanayininahaza. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibigirwa n’ibiremwa."},{"id":42,"translation":"Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira ku musi w'izuka."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Isunika ibicu Ikabiganisha aho Ishatse, hanyuma Ikavyegeranya bimaze gutatana, mu nyuma Ikabigwiriranya bigaheza bikaremera, maze ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Ikanatuma n’imvura y’urubura igwa ivuye mu bicu bingana umusozi mu kirere, maze nya mvura ikagwa ahari abo Imana Allah Ishatse ko bayikorako mu biremwa, Igaheza Ikanayihitisha ahari abo Ishatse ku mvo z’ivyagezwe vyayo! Umuco w’umuravyo urabiriza muri nya bicu ku bukari bwawo, uhakwa kumena amaso uwuwuravye."},{"id":44,"translation":"Imana Allah, Ikurakuranya ijoro n’umurango, Ikanasumbasumbanya imyanya yavyo. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inkebuzo yotuma abanyabwenge babushitse babona ubushobozi bw’Imana Allah, maze bakayisenga ari Imwe Rudende."},{"id":45,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yaremye zina-kintu cose kigendagenda kw’isi mu biremwa Igikomoye ku mazi. Muri ivyo biremwa rero, harimwo ibigenda vyikwega ku nda, hakabamwo n’ibigendera ku maguru abiri, harimwo n’ibigendera ku maguru ane. Burya Imana Allah, Irema ukwo Ishatse. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":46,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye muri Qor’ani ivyemezo bitomoye vyerekana ukuri. Burya Imana Allah, Irongora mw’idini ryayo rigororotse ry’ubwislamu uwo Ishatse mu baja bayo ku bugamburutsi bwiwe."},{"id":47,"translation":"Indyarya zirinamura zikavuga ziti: “Twaremeye Imana Allah twemera n’ivyarungikanwe Intumwa turanazumvira”; hanyuma hamwe n’ivyo, umugwi umwe muri zo ukirengagiza kwubahiriza ingingo y’Intumwa, eka izo ndyarya si n’abemeramana namba."},{"id":48,"translation":"N’iyo indyarya zirarikiwe mu gihe co gukemura amatati yazo, kugaruka zikisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, haca hiyadukiza umugwi muri zo wirengagiza ukanka nya ngingo y’Intumwa, kandi ari yo ngingo y’ukuri."},{"id":49,"translation":"Iyo naho nya mugwi ushimye nya ngingo, uraheza ukaza ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) wicishije bugufi mu kuyubahiriza."},{"id":50,"translation":"Mbega none, indyarya zoba zirengagiza ingingo y’Intumwa kuko zanyengeterewe mu mutima n’indwara y’uburyarya, canke n’uko zifise amakenga yo kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), canke ni ku mvo zo gutinya ko zorenganywa n’ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo! Eka niziteshwe zite, ahubwo ivyo vyose biterwa n’uko indyarya ari zo zirenganya mu kugarariza."},{"id":51,"translation":"Nayo abemeramana koko, bararikiwe mu gihe co gukemura amatati yabo kwisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, baraheza bakagamburuka, maze bakavuga bati: “Twumvise ingingo twahawe kandi twumviye n’uwayidushikirije”. Abo, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":52,"translation":"Uwo wese rero, yumviye Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo mu kwubahiriza amabwirizwa, akamana impungenge zitewe no gutinya guhanwa n’Imana Allah, uyo rero ari mu bantu benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Indyarya zararahiye zirarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko uramutse uzitegetse kuja ku rugamba, ko zitegerezwa kurujako. Zibwire uti: “Ntimukarahire ku ruhendo kuko iyumviramana ryanyu ni iry’akarimi gasosa gusa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose”."},{"id":54,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bose uti: “Nimwumvire Imana Allah mwongere mwumvire n’Intumwa”. Bantu! Nimwagenza umugongo mukirengagiza ukuri, ni ukuri burya Intumwa ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa, na mwe mugasabwa gushira mu ngiro ivyo mutegetswe. Nimwumvira iyo Ntumwa rero, muzotumbera inzira y’ukuri, burya nta kindi Intumwa ijejwe na canecane atari ugushikiriza ubutumwa butomoye."},{"id":55,"translation":"Imana Allah, Yasezeraniye abayemeye muri mwebwe bagakora n’ivyiza bitegetswe, ko bitebe bitebuke Itegerezwa kubakomorera ibihugu vy’ababangikanyamana, Ikabibaragiza nk’uko Yabigenjeje ku bemeramana bo hambere yabo; Ikazonabatsimbatariza idini ryabo ry’ubwislamu Yabashimiye, Ikazonabatekanisha inyuma y’aho batekerewe n’ubwoba. Ivyo Nzobibatunganiriza Jewe Allah mu gihe bonsenga batambangikanya n’ikintu na kimwe. Uwuzogarariza inyuma y’ivyo vyose rero akihakana inema zanje Jewe Allah, azoba ari mu bigaba birenga ku mabwirizwa yanje."},{"id":56,"translation":"Bemeramana! Nimutsimbataze amasengesho akwije ibisabwa, mutange n’ishikanwa-bwirizwa, muheze mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kugira muronke impuhwe z’Imana Allah."},{"id":57,"translation":"Ntiwibaze rero ko abagararije bananiye Imana Allah ko Yobahanira kw’isi, ahubwo nyabuna Irashoboye kubahanira kw’isi, mbere n’ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane."},{"id":58,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubwirize abashumba banyu hamwe n’abana bataragera mu bigero, ko bategerezwa kubanza kudodora imbere y’ukwinjira aho muri mu bihe bitatu: igihe co kwitegurira isengesho ryo mu mutwenzi[15], igihe co gukura impuzu ngo muruhuke ku musase[16] n’inyuma rero y’isengesho ryo ku mugoroba igihe mwiteguriye kuryama[17]. Ivyo rero ni vyo bihe kenshi mutaba mwambaye ngo mwikwize. Si bibi rero kuri mwebwe canke kuri bo kwinjira mutabanje kudodora mu bihe bitari ivyo, kuko mwese mukenerana mu gufashanya utu na turiya. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo kudodora - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.","footnotes":"[15] Ni igihe umuntu akura impuzu zo kurarana agashaka kwambara impuzu zo gusohokana.\n[16] Ni igihe umuntu akura impuzu zo gusohokana agashaka kwambara impuzu zoroshe zo muhira.\n[17] Ni igihe umuntu akura impuzu zo muhira agashaka kwambara impuzu zo kurarana."},{"id":59,"translation":"Abana banyu nibagera mu bigero, na bo nyene barabanza kudodora mu gihe cose bashatse kwinjira nk’uko abakuze babanza kudodora. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo kudodora - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":60,"translation":"N’abakecuru batagishoboye kuva mu nzu, batagikeneye no gushingirwa, si bibi kuri bo kutambara umwitwikiro mu gihe atari mu ntumbero yo kugaragaza ibisharizo bambaye; ariko mu gihe bokwambara nya mwitwikiro bakikwiza, vyoba ari vyiza kurusha kuri bo. Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana."},{"id":61,"translation":"Si bibi ku mpumyi, ku bimuga no ku barwayi kureka gukora ivyo badashoboye mu mabwirizwa, biturutse ku bumuga canke ku ndwara; eka si na bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe mu miryango yanyu, canke mu miryango ya ba so na ba sobukwe, mu miryango ya ba nyoko canke iya benewanyu, mu miryango ya bashikanyu canke iya ba sowanyu, mu miryango ya ba nyogosenge canke iya ba nyokorome, mu miryango ya nyokwanyu, mu miryango mushinzwe gucungera ku burenganzira bwa bene yo mu gihe batahari no mu muryango w’umugenzi wanyu; muri ico gihe rero, si bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe abagabo n’abagore canke gufungura umwe wese ukwiwe. Nimwinjira rero mu nzu zibamwo abantu (mu mihana), muraheza mwihe indamutso nziza ihezagiye ivuye ku Mana Allah muti: “Nimugire amahoro, impuhwe z’Imana Allah n’imihezagiro yayo[18]”. Nihatagira abantu baba muri nya nzu, zikaba zagenewe ibindi bikorwa, muraheza mwihe indamutso muti: “Nitugire amahoro, twebwe hamwe n’aberanda b’Imana Allah[19]”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo gufungura - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo kugira mubitegere, muheze muvyubahirize.","footnotes":"[18] ASSALAAMU ALAYKUM WARAHMATU LLAAHI WABARAKAATUH.\n[19] ASSALAAMU ALAYNAA WA’ALAA IBAADI LLAAHI SSWAALIHIINA."},{"id":62,"translation":"Abemeramana vy’ukuri, ni abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; no mu gihe bari kumwe n’Intumwa mu gikorwa kibahuza, ntibiyonjorora mu bandi batabanje kuyisaba uburenganzira bwo kugenda. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri abagusaba uburenganzira ku mvo zumvikana, abo ni bo bemeye koko Imana Allah n’Intumwa yayo; nibagusaba uburenganzira bwo kuja gutunganya utwabo, uraha nya burenganzira uwo ushatse muri bo, uheze unabasabire ikigongwe ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":63,"translation":"Bemeramana! Ntimugahamagare Intumwa y’Imana kw’izina ngo ewe Mumahadi nk’uko muhamagarana hagati yanyu kw’izina, ariko murayihamagara mu cubahiro muti: “Ewe Muvugishwamana!”, canke muti: “Ewe Ntumwa y’Imana!”. Nta nkeka ko Imana Allah Izi neza indyarya ziyonjorora muri mwebwe mu cicaro, zitabanje gusaba Intumwa y’Imana uburenganzira. Abaca kubiri n’amabwirizwa y’Intumwa y’Imana baragabishwa ko boshikirwa n’igeragezwa kw’isi, canke bagashikirwa n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":64,"translation":"Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi, nta nkeka rero ko ubumenyi bwayo buhetuye ivyo mukora vyose, n’umusi ibiremwa vyose vyasubijwe kuri Yo Izobibwira ido n’ido ku vyo vyakoze kw’isi, Iheze Inabibihembere. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe."}]},{"id":25,"verses":[{"id":1,"translation":"Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo."},{"id":2,"translation":"Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge."},{"id":3,"translation":"Ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, bidashoboye kurema n’ikintu na kimwe, kanatsinda bo hamwe n’ivyo basenga vyaremwe n’Imana Allah, nta n’ico vyiyicira eka nta n’ico vyimariye, nkeswe kugira ico bibamariye; eka ntibinashoboye no kwaka ubuzima canke kubutanga, eka ntibinashoboye no kuzura n’uwapfuye."},{"id":4,"translation":"Abagararije Imana Allah, bavuze ko iyi Qor’ani atari ikindi, kiretse ko ari irementanya ryagizwe na Muhamadi arifashijwemwo n’abandi bantu. Ni ukuri, bazanye ijambo ry’akadenderezo n’ikinyoma cambaye ubusa, kuko Qor’ani nta kiremwa gishobora kuyirementanya;"},{"id":5,"translation":"Baranavuze kandi ko Qor’ani ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere, Muhamadi yababuyeko, maze bakagenda barabimucira igitondo n’umugoroba!"},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Qor’ani Yamanuwe n’Imana Allah, Yo ubumenyi bwayo buhetuye ibiri mu majuru no mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":7,"translation":"Ababangikanyamana bavuze bati: “Uyu Muhamadi yiyita ko ari Intumwa, yokabaye yo agafungura co kimwe na twe, akaja no gusumira kw’isoko nkatwe! Nimba ari Intumwa, Imana Allah ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika yemeza ukuri kwiwe akamwitsa!"},{"id":8,"translation":"Canke Ikamumanurira amatungo menshi yotuma tumwemera, canke Ikamuha umurima uteye igomwe, agafungura ivyamwa vyawo ha kuja gusumira kw’isoko!”. Abirenganije mu kugarariza, baranavuze kandi babwira abameramana bati: “Ntimukurikira kiretse umuntu yarozwe bigatuma akehanirwa mu bwenge!”."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu abagarariji bagutangako uburorero bw’irementanya kugira baguhakane, gutyo bagahuba inzira y’ukuri, eka ntibashoboye no kuronka inzira yo kwigobotora muri nya rementanya!"},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo mu gihe Ishatse Yoguha ivyiza vyinshi gusumba ivyo bakwipfuriza, maze Ikaguha imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, Ikanaguha n’inyubakwa ziteye igomwe zigerekeranye."},{"id":11,"translation":"Ababangikanyamana, ntibaguhakana rero kuko ufungura ukaja no gusumira kw’isoko, ahubwo bahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa. Burya, Twaranategekanirije abahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe;"},{"id":12,"translation":"Umuriro niwabona abahakanye umusi w’izuka bakiri kure yawo, uzotangura gucira amasase kubera ishavu ubafitiye, maze bawumve usuma."},{"id":13,"translation":"Nibatabwa ahantu haga cane muri nya muriro babohewe amaboko mw’izosi n’iminyororo, bazoca bisabira uguhona ngo bawuruhuke;"},{"id":14,"translation":"Bazoheza bahebuzwe mu kubwirwa bati: “Kuri uno musi, ntimwisabire rimwe gusa guhona, ahubwo nimwisabire kenshi guhona kuko nta buruhukiro namba mufise”."},{"id":15,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mbega none umuriro mubwirwa ko muzohanishwa ni wo mwiza, canke ni Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema zidahera, bwasezeraniwe abagamburukiramana! Ubwo Bwami bw’ijuru rero, ni yo mpera y’ivyo bakoze, ni na yo maherezo yabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":16,"translation":"Muri nya Bwami, bazoronswa ivyo bipfuza vyose ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo sezerano Imana yawe Rurema Allah Yiyemeje ku bagamburukiramana."},{"id":17,"translation":"Ku musi w’izuka, Imana Allah Izokwegeraniriza ababangikanyamana hamwe n’ibigirwamana basenga mu gishingo cayo, Iheze Ibaze ibigirwamana Iti: “Mbega ni mwebwe mwahubishije aba baja banje inzira y’ukuri mu kubabwiriza kubasenga, canke ni bo ubwabo bahisemwo guhuba maze barabasenga?”."},{"id":18,"translation":"Ibigirwamana bizokwishura biti: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana! Ntibikabe, ntitwari dukwiye namba kwigirira n’umwe mu bahagarikizi mu gishingo cawe, ariko Warorohereje ababangikanyamana hamwe n’abavyeyi babo, mu kubaronsa amatungo no kuroranirwa kw’isi gushika n’aho bakwibagira, baraheza barakubangikanya, bari n’abantu bakwiye guhona kubera ubugaba bwabo”."},{"id":19,"translation":"Ababangikanyamana bazoheza babwirwe bati: “Ni ukuri, ibigirwamana mwasenga vyamaze kubiyamiriza mu kubihakana ko bitigeze bigira uruhara mw’ibangikanyamana ryanyu, ehe ntimushoboye no kwikingira ibihano, eka ntimunashoboye no kuvyikurako. Uwo wese rero yirenganije muri mwebwe mw'ibangikanyamana, maze agapfa akiyibangikanya, nta nkeka ko Twebwe Allah Tumuhonja ibihano rutura”."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe n’umwe mu Ntumwa, kiretse ko zakomoka mu bantu, zafungura ivyokurya zikaja no gusumira kw’isoko. Twanagize abantu kuba igeragezwa ku bandi mu guhitamwo ubugororotsi canke ubuhuvyi, mu kuba abatunzi canke abakene, mu kuroranirwa mu magara canke gukikwa n’amagara, mbega none mwokwihangana mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah mukazohembwa indishi nziza! Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Irabona neza muri mwebwe uwihangana n’uwucika intege, uwushima inema zayo n’uwugarariza akizihakana."},{"id":21,"translation":"Abatizeye ko inyuma yo gupfa bazohura na Twe Allah, baratangaye bavuga bati: “Burya Imana Allah, ntiyari gupfuma Itumanurira abamalayika bemeza ukuri kwa Muhamadi bakamwitsa, canke tukabona Imana yacu Rurema ukuri kwamye, Igaheza Ikatwibwirira ko Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Ni ukuri, barimonogoje mu kugira amanyama aho bubahutse kuvuga iryo jambo, baranarendegeye bararenza mu bugarariji."},{"id":22,"translation":"Umusi bazoba bari ku mpfiro bakabona abamalayika, no mu gihe bazoba bari mu mva, vyongeye no ku musi w’izuka, maze bakababona baremye uko batabaziga, uyo musi ntibazobaha inkuru ihumuriza namba, bazobaha inkuru y’incamugongo bati: “Ubwami bw’ijuru mubwibagire, ni ikizira kuri mwebwe!”."},{"id":23,"translation":"Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dufate ivyo bakoze bibaza ko ari vyiza, Tubigire impfagusa bitumuke nk’inkungugu kuko bitigeze vyemerwa[1].","footnotes":"[1] Igikorwa cose umuntu akoze kw’isi n’aho coba ciza, nta co kizomumarira mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse mu gihe nya muntu yoba yubahirije ibintu bibiri: ukwemera Imana Allah no kuzera indishi kuri Yo, hamwe rero no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kungene ashira mu ngiro nya ciza."},{"id":24,"translation":"Kuri uwo musi w’izuka, abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoronka ubushikiro bwiza buruta ubw’abantu bo mu muriro, bazoronka n’icumbi riteye igomwe."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi ijuru ryasadaguritse hakibonekeza mu migaga yaryo ibicu vyererana, abamalayika na bo bakamanuka ku bwinshi, kugira bakikuze ibiremwa kw’iyegeranirizo, maze Imana Allah Igaseruka mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kugira Ibitunganirize."},{"id":26,"translation":"Inganji y’ubwami bw’ukuri kuri uyo musi, ni iya Nyenimpuhwe Allah; kandi nya musi, uzoba ugoye cane ku bagarariji bitewe n’ibihano bibarindiriye."},{"id":27,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi umuntu yirenganije mw'igarariza, azokubita urutoke yihebuye akavuga ati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo nkurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu gukurikira inzira y’ubwislamu iganisha mu Bwami bw’ijuru!"},{"id":28,"translation":"Karadereye yemwe! Iyo menya sinari gucudika na kanaka ngo ndamugire umugenzi pfampfe!"},{"id":29,"translation":"Ni ukuri, yarampubishije mu kudakurikira Qor’ani kandi yaranshikiriye”. Burya rero shetani, yamye ari umuhemu kuri kiremwa-muntu[2].","footnotes":"[2] Izi Aayah zirihaniza umuntu kugira umugenzi mubi, kuko ashobora kumubera imvo imukwegera akarambaraye, akazoja mu muriro."},{"id":30,"translation":"Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaganyiye Imana Allah ku mabi yakozwe n’abantu bayo iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barahunze iyi Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha[3]”.","footnotes":"[3] Iyi Aayah irihaniza yivuye inyuma abantu bahunga Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha."},{"id":31,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakugeneye abansi bakurwanya mu bantu bawe - Twageneye Umuvugishwamana wese abansi mu bigaba vy’abantu biwe; bihanganire rero nk’uko na bo nyene babihanganiye. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kukubera Indongozi n’Umutabazi[4].","footnotes":"[4] Muri iyi Aayah, Imana Allah Iraremesha Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":32,"translation":"Abagararije bavuze bati: “Imana Allah, ntiyari gupfuma Imanurira rimwe Qor’ani kuri Muhamadi nka kurya Yamanuriye rimwe Tawurati, Injili na Zaburi!”. Ntumwa y’Imana! Ni ukwo nyene rero Twakumanuriye Qor’ani bukebuke mu bihe bitandukanye, kugira Dutsimbataze umushaha wawe mu kuyizigama; Twaranayigutomoreye ido n’ido mu bwitonzi, ingingo ku yindi."},{"id":33,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, ntibazokwigera bakuzanira iciyumviro gitera abantu amazinda mu kwemera ukuri wazanye, kiretse ko Twebwe Allah Tuzoguha inyishu y’ukuri kandi itomoye bikwiye mu kubeshuza nya ciyumviro."},{"id":34,"translation":"Ababangikanyamana bazokwegerwa mu muriro wa Jahannamu bubitse inda, ni na bo rero bagenewe ikibanza kibi cane mu muriro, baranahuvye koko inzira y’ukuri."},{"id":35,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati, Turaheza Tumugirira na murumunawe Haruna kuba umufasha wiwe;"},{"id":36,"translation":"Ni ho Twababwira bompi Duti: “Nimugende rero kwa Firawuni hamwe n’abantu biwe, bahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ubumana vyacu”. Bamaze kugenda kubararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah no kuyisenga batayibangikanya, baragararije maze Duca Turabahonya nya guhonya."},{"id":37,"translation":"N’abantu barungikiwe Nuhu, igihe bahakana bivuye inyuma Nuhu bagafatwa nk’uko bahakanye Intumwa zose, Twabahonesheje isegenya. Ihanwa ryabo rero, Twarigize inkebuzo ku bantu; no ku musi w’izuka, Twabategekanirije ibihano bibabaza."},{"id":38,"translation":"Twaranahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe na Beniriba, hamwe rero n’iyindi migwi myinshi y’abantu yagiye irabaho hagati y’iyo migwi, ikagarariza Intumwa yarungikiwe;"},{"id":39,"translation":"Iyo migwi yose rero y’abantu, Twarayitomoreye ivyemezo vyacu kugira ntigire icitwazo co kutamenya. Hamwe n’ivyo, nya migwi yaragararije Duca Turayihonya nya guhonya."},{"id":40,"translation":"Ni ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo abahakanyi bakubonye, baraguteburako n’agasuzuguro n’akantu bakavuga bati: “Mbega uyu ni we avuga ko yarungitswe n’Imana Allah kutubera Intumwa!"},{"id":42,"translation":"Ni ukuri, yahatswe kuduhubisha ku nyigisho ziwe zitubuza gusenga imana zacu iyo tutazitsimbatarako”. Abahakanyi rero, bazoteba bamenye igihe babonye ibihano bategekanirijwe uwahuvye inzira y’idini ry’ukuri uwo ari we, ko ari bo canke ko ari Muhamadi!"},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje gusumba! Ni uwagize ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe yumvira; none umuntu nk’uyo, wewe womubera umuhagarikizi yotuma yemera Imana Allah!"},{"id":44,"translation":"Canke wibaza ko abenshi muri bo bumviriza Aayah za Qor’ani bakazizirikana, canke bakazitahura! Bo rero, ni nk’ibitungwa mu kutagira na kimwe ukwumviriza Qor’ani kubunguye, ahubwo mbere bo barahuvye cane inzira gusumba ihuba ry’ibitungwa."},{"id":45,"translation":"Muntu! Mbega ntubona ukuntu Imana yawe Rurema Allah, Ituma igitutu kigenda kiriyongera kuva mu mutwenzi gushika izuba riserutse! Iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma nya gitutu kitiyongera ntikive aho kiri mu gukurikira izuba. Hanyuma rero Twebwe Allah, Twagize izuba kuba ikimenyetso cerekana ukwiyongera bukebuke kwa nya gitutu;"},{"id":46,"translation":"Hanyuma Tukagenda Tugabanya nya gitutu bukebuke gushika giherengetere."},{"id":47,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba nk’impuzu ibapfuka umubiri iyo buhwibiye; Ibagirira n’itiro kuba uburuhuko bw’umubiri n’umutima; Ibagirira n’umurango kuba umwanya wo gukwiragira hirya n’ino kw’isi murondera ikibabeshaho."},{"id":48,"translation":"Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu, ugatanga umwizero w’imvura ko igira igwe ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, amazi mushobora no gukoresha mu kwisukura;"},{"id":49,"translation":"Kugira Tunagishe kandi hakoreshejwe nya mazi y’imvura ibimera aho bitari; gutyo Dutotahaza isi yari yaramaze kugaduka, Duheze kandi Tunyweshe kuri nya mazi n’ibindi biremwa vyinshi Twaremye mu bitungwa no mu bantu."},{"id":50,"translation":"Ni ukuri, Twaratumye imvura igwa mu karere kamwe igatara mu kandi, kugira ababa mu karere yaguyemwo bibuke gushimira Imana Allah, maze n’ababa mu karere nya mvura yataze baheze bikebuke bagaruke bigaye ku Mana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bantu baranka guhitamwo kiretse ukugarariza inema z’Imana Allah."},{"id":51,"translation":"Iyo rero Twebwe Allah Dushaka, Twari kurungika ku bantu bo muri buri gacimbiri Umugabisha abararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ariko rero Ntumwa y’Imana! Twakurungitse ku bantu bose kugira ubashikirize iyi Qor’ani."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukumvire rero abagarariji mu kureka gushikiriza na kimwe mu vyo wategetswe; ahubwo nyabuna, uragira akigoro kadasanzwe mu gushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, uheze witange utiziganya mu kugondoza abagarariji ukoresheje Qor’ani."},{"id":53,"translation":"Imana Allah ni Yo Yahuje amabahari abiri: iry’amazi y’akanovera atemba neza mu muhogo n’iry’amazi y’icunyunyu; Iraheza Ishira hagati ya nya mabahari, agakingo gatuma ubwoko bumwe bwose bw’amazi butavogera ubundi."},{"id":54,"translation":"Ni na Yo Yaremye mu ruvange rw’intanga z’umugabo n’umugore uruvyaro rw’abahungu n’abakobwa, Iraheza Ibagirira n’ubucuti hagati yabo; ubushingiye ku maraso n’ubushingiye ku gushingirana. Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Mushoboravyose mu kurema ico Ishatse."},{"id":55,"translation":"Hamwe n’ivyo vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kurema no mu kubeshaho ibiremwa, ntibibuza ko abagarariji basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe babisenze, ata n’ico bibicira mu gihe batobisenga. Burya umugarariji, yamye ari umufasha wa shetani mu kubangikanya Imana yiwe Rurema Allah, no guca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye atari ukugira ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza, ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vy’Imana Allah."},{"id":57,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje; ariko rero, uwushaka muri mwebwe gutumbera inzira y’ukuri imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah, ni ku neza yiwe, nta we mpatira ku kwemera”."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwishimikize Nyenubugingobudashira Imana Allah Idapfa, kuko ukwamaho kwayo ntikugira intango canke iherezo, wongere uninahaze Imana yawe Rurema mu kuyishimagiza. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhetuziwavyose ku vyaha bikorwa n’ibiremwa vyayo, nta na kimwe muri vyo Iyobewe."},{"id":59,"translation":"Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo. Ntumwa y’Imana! Ni Yo Nyenimpuhwe, urabaza rero Imana Allah Yo Yonyene ku biyiranga."},{"id":60,"translation":"Iyo abagarariji babwiwe bati: “Nimwubamire Nyenimpuhwe Allah maze mumusenge”, baca binamura bakavuga bati: “Iyo Mana Allah Nyenimpuhwe nta Yo tuzi namba, dupfe kuyubamira gusa kuko ubidutegetse!”; iryo rarikirwa ryo kwubamira Nyenimpuhwe Allah, ryabongerereje ubugaba bwo kutikebuka ngo bemere[5].","footnotes":"[5] Iyo usomye iyi Aayah gushika ku mpera, usabwa guca wubama."},{"id":61,"translation":"Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere, Imana Allah Ibeshejeho ibiremwa, Yo Yaremye mu kirere c’ijuru, inyenyeri amahanga zifise inzira-ntasobwa, Ishira muri nya kirere izuba ryaka n’ukwezi kumurika."},{"id":62,"translation":"Ni na Yo Yagize ijoro n’umurango kuba bikurakuranwa mu kubisanya, kugira bibere inkebuzo uwushaka kwikebuka akemera Imana Allah Yabiremye, canke uwushaka kuyishimira ku nema zayo."},{"id":63,"translation":"Abaja beranda ba Nyenimpuhwe Allah, ni barya bagenda kw’isi mw’iteka n’itekane bicishije bugufi; n’iyo hagize abantu b’inshirasoni bababwira nabi, baraheza bakabishura mu bwitonzi ijambo ry’ihumure ritabata mu vyaha;"},{"id":64,"translation":"Abasenga kenshi amasengesho yo mu gicugu ku bw’Imana yabo Rurema Allah, bicishije bugufi mu gihe bubamye no mu gihe bahagaze;"},{"id":65,"translation":"Abatakamba basaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Igiza kure yacu ibihano vy’umuriro wa Jahannamu, mu vy’ukuri nta wutezurirwa ari mu bihano vyawo;"},{"id":66,"translation":"Mu vy’ukuri Jahannamu, ni bwo bushikiro n’icumbi bibi cane”;"},{"id":67,"translation":"Abadasesagura iyo batanze mu matungo yabo canke ngo babe ingumyi, bagaheza rero bagatanga ku rugero ruri hagati na hagati;"},{"id":68,"translation":"Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo[6], kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;","footnotes":"[6] Nko mu gihe umuntu avuye mw’idini inyuma y’aho yari umwemeramana, uwagiriwe n’ubusambanyi yari yubatse, hamwe rero n’uwishe umuntu ku karenganyo yabiteguye."},{"id":69,"translation":"Aheze agwirizwe n’ibihano ku musi w’izuka, maze abibemwo asuzuguritse ibihe bidahera[7];","footnotes":"[7] Mu gihe yoba yakoze ivyo vyaha vyose, canke yarabangikanije Imana Allah."},{"id":70,"translation":"Ariko uwuzokwigaya nya kwigaya akavavanura n’ivyo vyaha, maze akemera vy’ukuri akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo rero azoba ari mu bantu Imana Allah Ibabarira ibicumuro vyabo, Ikabihindura ivyiza ha kuba ibibi. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":71,"translation":"Uwuzokwigaya rero ku Mana Allah ku vyaha yakoze, agaheza agakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri, azoba agarutse koko ku Mana Allah, kugira Imwakirire ukwigaya kwiwe, Iheze Imubabarire n’ivyaha vyiwe;"},{"id":72,"translation":"Abatigera baba ivyabona vy’ikinyoma, batanaja n’aho nya kinyoma gisasirwa indava; n’iyo baciye ahavugwa amajambo y’imburakimazi, baraheza bakarengana bakebura mw’iteka n’itekane;"},{"id":73,"translation":"Na barya iyo bibukijwe Aayah za Qor’ani hamwe n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, vyerekana ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, batavyirengagiza nk’aho boba ari ibitumva canke ibipfamaso, ahubwo barazirikana nya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bagaheza bakicisha bugufi bakayubamira;"},{"id":74,"translation":"Abasaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe ku bakenyezi bacu no ku ruvyaro rwacu, ibinezereye amaso bituma twamana akamwemwe, Unatugire indongozi z'imboneza zimurikira abagamburukiramana”."},{"id":75,"translation":"Abo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika;"},{"id":76,"translation":"Bazoba muri nya Bwami ibihe bidahera, ni na bwo bushikiro n’icumbi vyiza cane."},{"id":77,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."}]},{"id":26,"verses":[{"id":1,"translation":"Twaa Siin Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima!"},{"id":4,"translation":"Twebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo."},{"id":5,"translation":"Ababangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure."},{"id":6,"translation":"Ni ukuri, ababangikanyamana barahakanye Qor’ani baranayiteburako. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazoshikirwa n’ukuri kw’inkuru z’ivyo bateburako, maze bahanwe."},{"id":7,"translation":"Mbega ntibaraba isi ngo babone ukuntu Twayinagishijeko ibimera vyinshi ngirakamaro, biri mu bwoko bwose bw’ibiterwa n'ivyimeza, ata wushoboye kubinagisha atari Imana Allah!"},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri mw’inagishwa ry’ivyo vyose, ni ukuri harimwo icemezo cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, burya abenshi mu bantu, si abemeramana namba;"},{"id":9,"translation":"Kandi mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije;"},{"id":11,"translation":"Abantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”."},{"id":12,"translation":"Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye;"},{"id":13,"translation":"Ngatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije;"},{"id":14,"translation":"Hari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”."},{"id":15,"translation":"Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza;"},{"id":16,"translation":"Enda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe;"},{"id":17,"translation":"Ko wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””."},{"id":18,"translation":"Firawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi!"},{"id":19,"translation":"Uraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”."},{"id":20,"translation":"Musa araheza yishura Firawuni ati: “Nimba ico gicumuro naragikoze, sinari bwahishurirwe kuba Intumwa!"},{"id":21,"translation":"Ni naho nata nkomoka mpungira i Madiyana, ku gutinya ko mwonyica mwihorera Umunyagiputa wanyu nishe kw’isanganya; mu nyuma, Imana yanje Rurema Allah Yahavuye Impa ubutumwa n’ubumenyi, maze Ingira Intumwa mu zindi;"},{"id":22,"translation":"Iryo rererwa ryanje iwawe na ryo unshinyagurizako, ryabaye kugira ngo ubandanye ucura bufuni na buhoro Bene Israyeli!”."},{"id":23,"translation":"Firawuni yahavuye abaza Musa ati: “Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yakurungitse, ni igiki?”."},{"id":24,"translation":"Musa yavuze yishura Firawuni ati: “Ni Imana Rurema, Umubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo; nimwaba rero muzi neza ivyo, nimuyemere”."},{"id":25,"translation":"Firawuni arinamura abwira abubahwa bari ng’aho bamukikije ati: “Muranyumvira ako kamaramaza ka Musa, aho yubahuka akavuga ko hari iyindi mana atari jewe!”."},{"id":26,"translation":"Musa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”."},{"id":27,"translation":"Firawuni n’ishavu n’akantu asubizayo anebagura Musa ati: “Mu vy’ukuri Intumwa yanyu mwarungikiwe, ni ukuri, ni umusazi, ivuga ibitaroranye namba”."},{"id":28,"translation":"Musa arongera ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana Rurema Yaremye ubuseruko n’uburengero hamwe n’ibiri hagati yavyo; Irema n’umuco n’umuzimagiza. Ivyo rero, bikaba ari ivyemezo vy’uko ari Yo Ikwiye kwemerwa no gusengwa ari Imwe Rudende nimwaba mutegera neza ububasha bwayo”."},{"id":29,"translation":"Firawuni aca avuga n’iterabwoba n’akantu yihaniza Musa ati: “Niwigenera Iyindi Mana atari jewe, ni ukuri ntegerezwa kuguta mw’ibohero hamwe n’abandi”."},{"id":30,"translation":"Musa asubizayo ati: “Mbega uraheza unte mw’ibohero hamwe n’abandi, n’aho nokuzanira icemezo gitomoye ko ndi mu kuri!”."},{"id":31,"translation":"Firawuni aca asaba Musa ko yozana icemezo ati: “Enda nyabuna rero, zana ico cemezo ku vyo uvuga niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”."},{"id":32,"translation":"Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;"},{"id":33,"translation":"Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane abari ng’aho birabira, barumirwa."},{"id":34,"translation":"Firawuni aca agira impungenge z’uko abunganizi bari ng’aho bamukikije, bohava banyurwa bakemera, araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Musa nta nkeka ko ari umukonikoni karuhariwe;"},{"id":35,"translation":"Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu akoresheje ubukonikoni bwiwe, none rero mumpanuye ko nokora iki?”."},{"id":36,"translation":"Abunganizi bari hambavu ya Firawuni bavuze bamuhanura bati: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;"},{"id":37,"translation":"Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe, bamukuzanire”."},{"id":38,"translation":"Ni ho rero abakonikoni bose bakoranirizwa hamwe ku musi w’isango nyezina[2];","footnotes":"[2] Hari ku musi w’ihimbazwa ry’ibirori, igihe abantu bambaye bakaberwa, bakaba bakoranye mu gitondo bavuye mu mihingo yose y’igihugu ca Misiri."},{"id":39,"translation":"Abararitsi baraheza bararika abantu bati: “Nyabuna nyabuna nimwitabire ikoraniro ku bwinshi kugira mushigikire abakonikoni!"},{"id":40,"translation":"Hari n’aho twotsimbatara kw’idini rya Firawuni, tugakurikira abakonikoni mu gihe boramuka batsinze”."},{"id":41,"translation":"Umusi w’isango ugeze, nya bakonikoni karuhariwe bariyegeranije bashika kwa Firawuni, bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”."},{"id":42,"translation":"Firawuni na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muri ico gihe muzoba muri no mu batoni b’abishikira bari hambavu yanje”."},{"id":43,"translation":"Musa yabariye nya bakonikoni ashaka ko ikinyoma gikubitirwa ahashashe ati: “Nimuterere hasi ivyo mushaka mu bukonikoni bwanyu”."},{"id":44,"translation":"Ni ho rero nya bakonikoni baterera imizana n’inkoni vyabo hasi, barahunika abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, ahubwo babona inzoka, baraheza barahira kw’izina rya Firawuni bavuga bati: “Mu cubahiro ca Firawuni, ni ukuri dutegerezwa gutsinda Musa”."},{"id":45,"translation":"Ni ho Musa rero yaterera inkoni yiwe hasi, nya nkoni ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, ya nzoka ica imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari inzoka vy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye."},{"id":46,"translation":"Ba bakonikoni bamaze kubona ico gitangaro c’inkoni, baciye bubamira Imana Allah;"},{"id":47,"translation":"Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":48,"translation":"Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”."},{"id":49,"translation":"Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga abiyamiriza ati: “Mbega karashize ingani mwemere Iyo Mana ya Musa, imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri biragaragaye ko Musa, ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ayo imbwa yaboneye ku mugezi; ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”."},{"id":50,"translation":"Ba bakonikoni, baraheza bishura Firawuni bati: “Nta co bidutwaye namba, twebwe mu vy’ukuri, uramutse utwishe dusubira ku Mana yacu Rurema Allah;"},{"id":51,"translation":"Mu vy’ukuri, twebwe turizeye ko Imana yacu Rurema Allah, Itugumiriza akabanga, Ikatubabarira ivyaha vyacu, kuko tubaye aba mbere bayemeye mu bantu bawe”."},{"id":52,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Genda muri iri joro ujanye abaja banje bemeye muri Bene Israyeli, kuko mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava babakurikira ngo babafate imbere yuko mujabuka ibahari”."},{"id":53,"translation":"Firawuni yaciye arungika abararitsi mu bisagara vyose kwegeranya ingabo ziwe;"},{"id":54,"translation":"Araheza avuga ati: “Bene Israyeli bahunganye na Musa, ni akagwi k’abantu bari ku rushi, bagayitse;"},{"id":55,"translation":"Kandi mu vy’ukuri, baraduteye ishavu ryinshi ku guca kubiri n’idini ryacu;"},{"id":56,"translation":"Na twe rero turarikanuye ntibaducarukana”."},{"id":57,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura Firawuni hamwe n’abantu biwe mu gihugu ca Misiri kirangwa n’imirima itotahaye n’amazi y’amariba atemba;"},{"id":58,"translation":"Hari n’ibigega vy’ubutunzi n’inyubakwa ziteye igomwe."},{"id":59,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabakuye muri ico gihugu ca Misiri - Twahavuye Tukiraga mu nyuma Bene Israyeli."},{"id":60,"translation":"Firawuni rero hamwe n’ingabo ziwe, bahavuye bakurikira Musa n’abo bari kumwe mu mutwenzi."},{"id":61,"translation":"Bamaze guhura na bo amaso mu yandi, abantu ba Musa n’ubwoba n’akantu bavuze bati: “Musa, ni ukuri abantu ba Firawuni nta kibuza baradufashe, turahonye!”."},{"id":62,"translation":"Musa yabishuye ati: “Kizire, ntibagenda babafashe namba kuko ndi kumwe n’Imana yanje Rurema Allah mu kuntabara, Irandongora inzira idukura muri aka kaga”."},{"id":63,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Kubita iyo nkoni yawe kw’ibahari”. Ubwo nyene ya bahari yicamwo inzira cumi na zibiri; zihuriranye n’igitigiri kingana n’amoko ya Bene Israyeli, maze igice cose c’ibahari kigabura inzira n’iyindi kiba nk’umusozi amahanga."},{"id":64,"translation":"Aho rero, ni ho Twashorera Firawuni n’ingabo ziwe gushika n’aho binjira mw’ibahari bibwira ngo bakurikiye Musa n’abo bari kumwe;"},{"id":65,"translation":"Turaheza Turokora Musa n’abo bari kumwe bose, barajabuka amahoro gushika ku rundi ruhande rw’ibahari."},{"id":66,"translation":"Mu nyuma, ni ho nya bahari yasubira guterana, maze Twebwe Allah Duca Dusomesha nturi Firawuni n’ingabo ziwe, bahonera rimwe."},{"id":67,"translation":"Mu vy’ukuri, muri ivyo vyashikiye Firawuni n’ingabo ziwe, ni ukuri harimwo inkebuzo yerekena koko ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bakurikira Firawuni ntibahavuye bemera."},{"id":68,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":69,"translation":"Ntumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu;"},{"id":70,"translation":"Igihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”."},{"id":71,"translation":"Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”."},{"id":72,"translation":"Ibrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye?"},{"id":73,"translation":"Canke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”."},{"id":74,"translation":"Bavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”."},{"id":75,"translation":"Ibrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga;"},{"id":76,"translation":"Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere!"},{"id":77,"translation":"Mu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga;"},{"id":78,"translation":"Ni Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":79,"translation":"Ni na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa;"},{"id":80,"translation":"N’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara;"},{"id":81,"translation":"Ni na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka;"},{"id":82,"translation":"Ni na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”."},{"id":83,"translation":"Ibrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":84,"translation":"Umpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo;"},{"id":85,"translation":"Unshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema;"},{"id":86,"translation":"Urongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye[3];","footnotes":"[3] Iki gisabisho, Ibrahimu yagisabiye se kuko yari yamusezeraniye ko amusabira ku Mana Allah, hari imbere yuko se agaragariza Ibrahimu ko atarota avavanura n’igarariza hamwe n’ibangikanyamana gushika gupfa; ico gihe rero, Ibrahimu yaciye avavanura na se."},{"id":87,"translation":"Kandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze;"},{"id":88,"translation":"Umusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu;"},{"id":89,"translation":"Kiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”."},{"id":90,"translation":"Kuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana;"},{"id":91,"translation":"Umuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo;"},{"id":92,"translation":"Maze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi!"},{"id":93,"translation":"Mbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”."},{"id":94,"translation":"Bazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro;"},{"id":95,"translation":"Bari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka."},{"id":96,"translation":"Bazohazana bari mu muriro ku makosa yabo;"},{"id":97,"translation":"Bavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara;"},{"id":98,"translation":"Mu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende;"},{"id":99,"translation":"Burya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira;"},{"id":100,"translation":"Ubwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo!"},{"id":101,"translation":"Nta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe!"},{"id":102,"translation":"Ese twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”."},{"id":103,"translation":"Mu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera."},{"id":104,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":105,"translation":"Abantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[4];","footnotes":"[4] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose."},{"id":106,"translation":"Igihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":107,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;"},{"id":108,"translation":"Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;"},{"id":109,"translation":"Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":110,"translation":"Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo\"."},{"id":111,"translation":"Abantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”."},{"id":112,"translation":"Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishura ati: “Sinjejwe kumenya ubuzima babayemwo; ico njejwe, ni ukubararikira ukwemera, burya ubutore n’icubahiro c’umuntu, biva ku kwemera Imana Allah, ntibiva ku muryango canke ku co ari mu kibano;"},{"id":113,"translation":"Iharurirwa ryabo ku vyo bakoze, rijejwe Imana yanje Rurema Allah. Iyo muba muzi ko biri ukwo rero, ntimwari kunebagura abankurikiye;"},{"id":114,"translation":"Kandi nanje nyene sindota nirukana abemeramana bankurikiye uko bari kwose kugira ngo munyemere;"},{"id":115,"translation":"Jewe burya nta kindi njejwe, kiretse ko ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”."},{"id":116,"translation":"Abantu ba Nuhu bahavuye bamutera ubwoba bati: “Nuhu! Utaretse iryo rarikiramana ryawe, ni ukuri nta kibuza, tuzokwicisha amabuye!”."},{"id":117,"translation":"Nuhu amaze kwumva iterabwoba ryabo, yaratakambiye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri abantu banje Wandungitseko, bangararije bimwe biboneka;"},{"id":118,"translation":"Ndagusavye rero ko Ufata ingingo idutandukanya mu guhonya abaguhakana bakagarariza Intumwa yawe, maze Undokore muri iryo honywa jewe hamwe n’abo turi kumwe mu bemeramana”."},{"id":119,"translation":"Imana Allah Yarumviye Nuhu, maze Iramurokora muri nya honywa we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato bwarimwo amoko yose y’ibiremwa."},{"id":120,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twahonya abahakanye bakagarariza."},{"id":121,"translation":"Mu vy’ukuri, mu nkuru ya Nuhu n’ihonywa ry’abamugararije, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah n’Intumwa zayo ngo bubahirize n’amabwirizwa yayo."},{"id":122,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":123,"translation":"Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Huudi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[5].","footnotes":"[5] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose."},{"id":124,"translation":"Igihe mwenewabo Huudi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!;"},{"id":125,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;"},{"id":126,"translation":"Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah;"},{"id":127,"translation":"Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose,"},{"id":128,"translation":"Mbega mwubaka inyubakwa ndende aho hose hataramutse, mu ntumbero yo kwihambaza mukengera abarengana hepfo yanyu!"},{"id":129,"translation":"Mukigirira n’amazu y’intamenwa y’amagorofa; nk’aho muzokwama kw’isi ibihe bidahera;"},{"id":130,"translation":"N’iyo hagize uwo mucakira mu bantu mukamukubita canke mukamwica, mubikora ku kagagazo n’akarenganyo;"},{"id":131,"translation":"Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo;"},{"id":132,"translation":"Muheze mugamburukire Imana Allah Yabahaye inema muzi z’ubwoko bwose;"},{"id":133,"translation":"Yabahaye ibitungwa, Ibaha n’ibibondo;"},{"id":134,"translation":"Ibaha n’imirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba”."},{"id":135,"translation":"Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarihanije abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye, mu gihe mworendegera mu bugarariji, mwihakana n’inema zayo”."},{"id":136,"translation":"Abantu ba Huudi bamwamiriye kure bati: “Kuri twebwe rero, ukuduhanura kwawe n’ukutaduhanura, vyose ni co kimwe, ntiturota tukwemera namba!"},{"id":137,"translation":"Ivyo twemera si ikindi, kiretse ko ari imigenzo y’ab’aho hambere;"},{"id":138,"translation":"Kandi rero twebwe ntituzohanirwa gukora ivyo utubuza”."},{"id":139,"translation":"Bararendegeye rero mu guhakana bivuye inyuma, maze Twebwe Allah Duca Tubarungikira igihuhusi c’igikonyozi, Turabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Ntumwa y’Imana! Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bakwemera."},{"id":140,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":141,"translation":"Bene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[6].","footnotes":"[6] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose."},{"id":142,"translation":"Igihe mwenewabo Swalehe yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":143,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;"},{"id":144,"translation":"Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;"},{"id":145,"translation":"Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":146,"translation":"Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah Ikwiye kubareka mukishira mukizana mu nema Yabahaye kw’isi mutekaniwe!"},{"id":147,"translation":"Mu mirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba!"},{"id":148,"translation":"N’ibitara vy’ivyamwa n’ibiterwa hamwe n’itende zoroshe z’akanovera!"},{"id":149,"translation":"Mukanabaza mu misozi inzu mu buhinga butuma mwiyemera bidasanzwe!"},{"id":150,"translation":"Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;"},{"id":151,"translation":"Ntimugakurikire namba ivyo mubwirwa n’abimonogoje mu bugarariji;"},{"id":152,"translation":"Bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, batigera bitwararika gukora ibitunganye”."},{"id":153,"translation":"Bene Thamuudi barinamuye babwira Swalehe bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!"},{"id":154,"translation":"Wewe nta co uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Enda rero nyabuna zana icemezo cerekana ko uri Intumwa, niwaba koko uri mu mvugakuri ko Imana Allah Yakuturungitseko!”."},{"id":155,"translation":"Swalehe yababwiye ati: “Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri, yagenewe gushoka ku musi wayo na mwe mukaba murekuriwe kuvoma ku musi uzwi ukurikira;"},{"id":156,"translation":"Ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi. Nimwahirahira rero mukayikomakoma ku nabi, nta kizobuza ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye”."},{"id":157,"translation":"Ni ho rero bahakana, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga, maze bazinduka bicuza ku vyo bakoze, bamaze kumenya neza ko bategerezwa guhanwa;"},{"id":158,"translation":"Baca bashikirwa rero n’ibihano vy’Imana Allah basezeraniwe na Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), birabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wushaka kwikebuka mu bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah."},{"id":159,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":160,"translation":"Abantu ba Luutwi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Luutwi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[7].","footnotes":"[7] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose."},{"id":161,"translation":"Igihe mwenewabo Luutwi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!"},{"id":162,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;"},{"id":163,"translation":"Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;"},{"id":164,"translation":"Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":165,"translation":"Mbega none, karashize ingani mwabirane abagabo ku bagabo muri Bene Adamu!"},{"id":166,"translation":"Muheze mwirengagize kwabira abo mwaremewe n’Imana yanyu Rurema Allah mu bagore, ari na bo mwagenewe kugira muryoherwe muheze murondoke! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu kuvogera imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah”."},{"id":167,"translation":"Abantu Luutwi yarungitsweko bahavuye bamutera ubwoba bati: “Luutwi! Utaretse kutubuza kwabirana abagabo ku bandi, ni ukuri nta kibuza, tuzokwomora utuvire mu gihugu!”."},{"id":168,"translation":"Luutwi asubizayo ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi mu biyamiriza bivuye inyuma bakanashavuzwa cane n’ivyo mukora”."},{"id":169,"translation":"Luutwi amaze kwihebura ko batarota bamwumvira, yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nkingira jewe hamwe n’umuryango wanje inkurikizi z’ivyaha vy’agahomerabunwa bakora”."},{"id":170,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twarokora Luutwi hamwe n’umuryango wiwe n’abitabiriye irarikiramana ryiwe;"},{"id":171,"translation":"Kiretse umukecuru umwe muri bo atemeye, ari na we yari umugore wiwe, yari mu bategerezwa guhanwa;"},{"id":172,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twarandurana n’imizi abahakanye bakagarariza;"},{"id":173,"translation":"Maze Tubakurikiza n’icucagirwa ry’amabuye amanuka avuye mu kirere nk’imvura y’urutavanako; ryari icucagirwa ry’amabuye ribi cane ku bihanijwe n’Intumwa bakanka kuzumvira!"},{"id":174,"translation":"Mu vy’ukuri mw’ihonywa ry’abantu ba Luutwi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bemera."},{"id":175,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":176,"translation":"Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[8].","footnotes":"[8] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose."},{"id":177,"translation":"Igihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!"},{"id":178,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;"},{"id":179,"translation":"Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;"},{"id":180,"translation":"Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":181,"translation":"Shu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha;"},{"id":182,"translation":"Mwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro;"},{"id":183,"translation":"Ntimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose[9] kw’isi;","footnotes":"[9] Ni ubwononyi bushingiye ku gukwiragiza ibangikanyamana, ukwica no kwicisha umuntu hamwe no kumugirako iterabwoba canke kumwambura utwiwe."},{"id":184,"translation":"Muheze kandi mwikingire ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Iyabaremye mwebwe hamwe n’abakurambere banyu”."},{"id":185,"translation":"Abantu ba Shu’ayibu bamwishuye bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!"},{"id":186,"translation":"Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;"},{"id":187,"translation":"Saba rero Imana yawe Allah Itumanurireko ibihano bivuye mw’ijuru biduhonye, niwaba koko uri mu mvugakuri ko ari Yo Yakuturungitseko!”."},{"id":188,"translation":"Shu’ayibu araheza abishura avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza ivyo mukora vyotuma Ibahana”."},{"id":189,"translation":"Bahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye."},{"id":190,"translation":"Mu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere."},{"id":191,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":192,"translation":"Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani icira abantu ku mayange kahise k’ivyashikiye Intumwa n’abo zarungitsweko, Yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":193,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo Qor’ani yamanukanwe na Mutimamweranda akaba n’umwizigirwa Jibrili;"},{"id":194,"translation":"Araheza arayigusomera urayizigama mu mutima, uranatahura n’ingingo zirimwo, kugira ube Intumwa mu zindi Ntumwa zigabisha abo zarungitsweko ku bihano vy’Imana Allah, uheze ugabishe rero abantu bose co kimwe n’amajini."},{"id":195,"translation":"Akaba yayimanukanye iri mu rurimi rw’icarabu rutomoye, harimwo ingingo zose nkenerwa mu gutunganya ivy’ubuzima bwo kw’isi n’ivy’ubw’inyuma yo gupfa."},{"id":196,"translation":"Mu vy’ukuri ivugwa ry’iyi Qor’ani, ni ukuri riri mu Bitabu vy’Intumwa zo hambere yawe."},{"id":197,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega abaguhakana, ntivyari bikwiye kubabera icemezo cotuma bemera ko uri Intumwa, kuba abamenyi muri Bene Israyeli bazi neza na neza ko uri Intumwa vy’ukuri, n’uko Qor’ani ari ukuri kudahinyuzwa![10].","footnotes":"[10] Mu bamenyi bo muri Bene Israyeli, ni uwitwa Abdu llaahi mwene Salaam, yahavuye yemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":198,"translation":"N'iyo Twebwe Allah Tumanurira Qor’ani bamwe mu batavuga ururimi rw’icarabu;"},{"id":199,"translation":"Maze bakayisomera abagarariji mu Bakorayishi mu carabu gitomoye, ntibari kuyemera namba, bari no kurondera icitwazo c’ukwo kutemera."},{"id":200,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Twateye amakenga yo kutemera Qor’ani mu mitima y’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu;"},{"id":201,"translation":"Ntibarota bemera rero, gushika biboneyeko ibihano bibabaza basezeraniwe;"},{"id":202,"translation":"Maze nya bihano bibashikire giturumbuka ata vyo bari biteze;"},{"id":203,"translation":"Baheze bicuze bavuga bati: “Ubwo ntitworindirizwa na gato kugira twigaye ku Mana Allah, duheze tuyemere!”;"},{"id":204,"translation":"Bahenzwe n’uko Twebwe Allah Dutenyenya kubahana, baraheza bihutira gusaba ko Twobahana!"},{"id":205,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega wari uzi ko n’aho abagarariji Twobaha kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi imyaka n’iyindi;"},{"id":206,"translation":"Hanyuma bagashikirwa n’ibihano basezeraniwe;"},{"id":207,"translation":"Ukuryoherwa muri nya buzima imyaka n’iyindi, ata co kwobamarira mu gihe batarigaya ku Mana Allah icaha c’ibangikanyamana!"},{"id":208,"translation":"Nta ho vyakabaye rero ko Twebwe Allah, Duhana Tugahonya agacimbiri na kamwe k’abantu b’aho hambere, kiretse ko Twabanza kukarungikira Intumwa zikagabisha ku bihano vyacu;"},{"id":209,"translation":"Nya Ntumwa rero zigaheza zikibutsa nya gacimbiri kwubahiriza amabwirizwa yacu. Ntitwari kurenganya rero umugwi uwo ari wo wose w’abantu ngo Tuwuhane imbere yuko Tuwurungikira Intumwa."},{"id":210,"translation":"Nta mashetani yigeze amanurira Qor’ani Intumwa Muhamadi nk’uko abagarariji bibwira;"},{"id":211,"translation":"Ico kizire rero ku mashetani, eka nta n’ico yoshobora;"},{"id":212,"translation":"Mu vy’ukuri, ayo mashetani ntashoboye no gusuma urusaku kw’ihishurirwa rya Qor’ani mu gihe imanuwe."},{"id":213,"translation":"Ntukabangikanye rero Imana Allah mu kuyisenga hamwe n’iyindi mana, wohava uba mu bahanirwa ibangikanyamana."},{"id":214,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gabisha rero ku bihano vy’Imana Allah abari hafi yawe, na canecane mu muryango wawe;"},{"id":215,"translation":"Uheze worohere mu mvugo n’ingiro abemeramana bagukurikiye, mu kwicisha bugufi no kubumvira impuhwe."},{"id":216,"translation":"Nibaca kubiri n’ingingo yawe, uraheza ubabwire uti: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo mukora mw’ibangikanyamana”."},{"id":217,"translation":"Maze wishimikize unizere Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":218,"translation":"Ni Yo Ikubona mu gihe ugira usenge wenyene mu gicugu;"},{"id":219,"translation":"Ikabona n’ukungene ugira uri kumwe n’abayubamira mw’isengesho, haba mu gihe uhagaze, wunamye, wubamye canke wicaye;"},{"id":220,"translation":"Mu vy’ukuri Iyo Mana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva igisomwa, ininahaza n’itaziramana vyawe; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo ukora n’ivyo uzirikana."},{"id":221,"translation":"Bantu! Mbega ndababwire uwururukirwa na shetani uwo ari we?"},{"id":222,"translation":"Burya shetani, yururukira uwo wese yimonogoza mu kubesha, yuzuye ivyaha muri ba senyagara n’abapfumu;"},{"id":223,"translation":"Amashetani araheza agasuma urusaku mu kwumviriza inkuru y’ibivugwa mu biremwa vyo mw'ijuru; maze agahereza nya nkuru ba senyagara n’abapfumu, kandi abenshi muri bo barabesha."},{"id":224,"translation":"Burya n’abivuzi b’amazina bashingira ku kinyoma n’ububeshi, maze abahuvye inzira na bo bakabakurikira;"},{"id":225,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntiwabonye ko abivuzi b’amazina, bapfa ivyo bavuze batagira intumbero[11]; nk’intungwa yaciye ikiziriko itagira iyo iva n’iyo ija;","footnotes":"[11] Mu guhonyanga agateka k’imiryango."},{"id":226,"translation":"N’uko bavuga ivyo batigera bakora, bakivuga abanyabinyoma, bagatyoza imvugakuri!"},{"id":227,"translation":"Havuyemwo gusa abivuzi b’amazina bemeye bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakananinahaza batazira cane Imana Allah, bagaheza rero bakivuga amazina mu guharanira ubwislamu[12] no kurwanira Intumwa y'Imana mu kwishura abivuzi b’amazina b’abagarariji. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana[13], bazoteba bamenye ingaruka mbi cane zibarindiriye.","footnotes":"[12] Nko kwigisha ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende, gutsimbataza urupfasoni n’imigenzo myiza, n’izindi nyigisho ngirakamaro.\n[13] Hamwe no mu gutyoza agateka n’icubahiro c’abantu no kubakorera inteba ishushe."}]},{"id":27,"verses":[{"id":1,"translation":"Twaa Siin[1]. Izi, ni Aayah za Qor’ani, Aayah z’Igitabu gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira;","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Izo Aayah z’Igitabu Qor’ani, ni uburongozi bushikana ku ntsinzi mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, zikanaba n’inkuru nziza iremesha ko Ubwami bw’ijuru bwagenewe abemeramana;"},{"id":3,"translation":"Abatsimbataza amasengesho atanu ku musi akwije ibisabwa; bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa ku bayigenewe; bakemera ata guhigimanga ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri, abatemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa ngo baheze babwitegurire, Twabaryohereje ibikorwa vyabo bibi babibona ko ari vyiza, baranajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka mu vyo bakora;"},{"id":5,"translation":"Abo, ni bo rero bategekanirijwe ibihano bibi bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, bakazoba no mu bahomvye cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe wakira Qor’ani ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose."},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yari avuye muri Madiyana agarutse muri Misiri, igihe abwira umuryango wiwe ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndabonye umucanwa waka, reka ndabe ko nohasanga inkuru y’umuntu yotuzimurura akatwereka inzira, canke ko nobazanira igishirira kugira mwote”."},{"id":8,"translation":"Musa amaze gushika aho yabonye nya muriro, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Harahezagiwe abamalayika bari muri nya muriro n’abawukikuje, nihaninahazwe rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":9,"translation":"Ewe Musa! Mu vy’ukuri ni Jewe Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Nkora;"},{"id":10,"translation":"Enda nyabuna rero, terera iyo nkoni yawe hasi”. Musa amaze kuyiterera hasi, yaciye ihinduka inzoka yigendera. Musa amaze kubona ya nkoni igenda inyiganyiga nk’inzoka, yatunzwe n’ayo yameze, asubira inyuma ubudakebuka. Maze Imana Allah Ica Iramutururuza Iti: “Ewe Musa! Ntutinye na gato, tekana! Mu vy’ukuri, Jewe nta Ntumwa itinya iri imbere yanje;"},{"id":11,"translation":"Ariko uwirenganije agakora icaha, hanyuma akigaya maze agasubiriza nya caha iciza co kwigaya, ni ukuri Jewe Ndi Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi kuri we;"},{"id":12,"translation":"Shira ikiganza cawe rero mu kwaha kwawe, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe; ico, ni kimwe mu bitangaro icenda[2] vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri Ndungitse kwa Firawuni n’abantu biwe; mu vy’ukuri, bari mu bantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”.","footnotes":"[2] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso."},{"id":13,"translation":"Nya bitangaro vyacu Twebwe Allah vyerekana ukuri ku wubibonye, bimaze gushikira Firawuni n’abantu biwe, bavuze bati: “Ubu, ni ubukonikoni bweruye!”."},{"id":14,"translation":"Firawuni n’abantu biwe rero, barahakanye ku manyama, ko nya bitangaro icenda bivuye koko ku Mana Allah, kandi ku mutima baremera ko ari ivy’ukuri, maze Imana Allah Ibahanisha gusoma nturi. Ntumwa y’Imana! Raba rero uko iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, ryagenze."},{"id":15,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Dawudi n’umuhungu wiwe Sulayimani ubumenyi, baraheza barabugendera koko, baca baravuga bompi bashima bati: “Ishimagizwa, ni iry’Imana Allah Yaduteye iteka, Ikaduhesha n’icubahiro gisumba ica benshi mu baja bayo b’abemeramana”."},{"id":16,"translation":"Sulayimani yatoranye kwa se Dawudi ubutumwa, ubumenyi n’ubwami, araheza avuga abwira abantu biwe ati: “Emwe bantu! Twigishijwe gutahura ibivugwa n’inyoni, maze duhabwa n’ububasha bwo gukora ico twipfuza. Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpano itomoye iduhesha icubahiro gusumba abandi”."},{"id":17,"translation":"Sulayimani yaregeranirijwe ingabo ziwe mu majini, mu bantu no mu nyoni, zamugendanira aho agiye. Hamwe n’ubwinshi bwazo rero, umugwi wose wari ufise intwazangabo iwurongoye ikanawutondeka neza;"},{"id":18,"translation":"Izo ngabo rero, zaragiye gushika n’aho zica mu kabande k’ubunyegeri, maze akanyegeri kamwe muri two kavuga kaburira ubundi gati: “Mwa bunyegeri mwe! Nimwinjire mu macumbi yanyu, kugira Sulayimani n’ingabo ziwe ntibahave babahonyanga batazi ko muri ng’aha”."},{"id":19,"translation":"Sulayimani yumvise ukuntu ako kanyegeri kaburiye ubundi bunyegeri, yaramwenyuye yibutse inema yahawe, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nshoboza gushima inema zawe Wampaye n’izo Wahaye abavyeyi banje, Unshoboze no gukora ibikorwa vyiza bigushimisha, Wongere Unshire ku mpuhwe zawe mu Bwami bwawe bw’ijuru bwuzuye inema, ndi kumwe n’abaja bawe b’aberanda”."},{"id":20,"translation":"Ni ho rero Sulayimani, yagendura ingabo ziwe z’inyoni kugira arabe ko ata yasivye muri zo, aca abona inyoni itahari, avuga ati: “Mbega vyagenze gute ko ntabona inyoni “Hudihudi[3]” nari menyereye kubona, canke yoba iri mu ngabo zasivye!”.","footnotes":"[3] Hudihudi, ni inyoni ikerebutse cane, inyaruka cane kandi ifise ubushobozi budasanzwe bw’ikoreshwa mw’itumatumanako, irarinda inzara n’inyota umwanya munini, ifise umunwa muremure usongoye hamwe n’umubiko muremure w’amubi atonze ku murongo ku mutwe wayo, ishobora guhagarika nya mubiko canke kuwuryamika, ifise ibara ryirabura rirobetse ibara ryera ku mababa no ku murizo, n’ibara risa n’inzahabu ku gatuntu no mw’izosi."},{"id":21,"translation":"Amaze kubona ko inyoni Hudihudi yasivye, yaciye avuga ati: “Nta kibuza ntegerezwa guha Hudihudi igihano gikaze canke ndayibage, canke itegerezwa kunzanira icireguzo kigaragara ku catumye isiba”."},{"id":22,"translation":"Hudihudi yamaze akanya isase ica iraza. Sulayimani agize ngo arayibaza ku catumye isiba, yaciye yiregura ivuga iti: “Burya naronse inkuru utigeze umenya, ni ho nkiva i Saba-i mu gihugu ca Yemeni, nkaba ndakuzaniye inkuru ihambaye namaze gutohoza neza;"},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri jewe, nasanze hari umugore ategeka abantu bo muri Saba-i, uyo mugore yahawe ivyiza vyose vy'isi bishoboka, akaba afise n’intebe y’inganji ihambaye, yicarako mu gihe co gutunganya ivy’ubutegetsi bwiwe;"},{"id":24,"translation":"Nya mugore n’abantu biwe rero, nabasanze basenga bakubamira izuba mu gishingo c’Imana Allah; shetani na yo yarabaryohereje gukora ibikorwa bibi, iraheza ibabera inzitizi mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah, ntibashobora rero gutumbera inzira yo kwemera;"},{"id":25,"translation":"Shetani yabaryohereje gukora ivyo bibi, kugira ntibubamire Imana Allah Iserura ibinyegejwe mu majuru n’isi; nk’imvura n’ibimera, n’ibindi, Ikaba Izi neza ivyo mugirira mu mpisho n’ivyo mugirira ku mugaragaro;"},{"id":26,"translation":"Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo Rurema w’Ubuhangamo buhambaye[4]”.","footnotes":"[4] Ubuhangamo “ARSH”, ni co kiremwa kinini cane gusumba ibindi biremwa vyose. Usomye iyi Aayah ukagera ku mpera, uca wubama."},{"id":27,"translation":"Sulayimani yishuye Hudihudi ati: “Reka turahava twihweza neza iyo nkuru utuzaniye ko wavuze ukuri canke ko hoba harimwo ikinyoma!"},{"id":28,"translation":"Subira ku bantu bo muri Saba-i, maze ugende ujanye n’iri kete ryanje uribahereze, hanyuma wigire ku ruhande hafi yabo ku buryo ushobora kwumva ivyo barivugako”."},{"id":29,"translation":"Hudihudi yarashikanye nya kete ku mwamikazi waho; uyo mwamikazi amaze kurisoma, yaciye akoranya abunganizi biwe mu nama, maze Hudihudi yumva wa mwamikazi avuga ati: “Emwe bunganizi banje! Mu vy’ukuri jewe, mpejeje kuronka ikete rihambaye, rirungitswe n’umuntu yubashwe;"},{"id":30,"translation":"Iryo kete rivuye kwa Sulayimani, rikaba ritangura riti: “Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":31,"translation":"Ntimugire amanyama ku vyo ndabararikiye, kandi muze aho ndi mwicishije bugufi muri abislamu””."},{"id":32,"translation":"Umwamikazi yavuze ati: “Bunganizi banje! Nimumpanure munyereke ingingo nofata kuri iri kete, sinari gushobora gufata ingingo mutabanje kugira ico mumpanuye, mugaheza mukemeza ico dupfunditse”."},{"id":33,"translation":"Ba bunganizi bishuye umwamikazi bati: “Twebwe turafise ingabo zikwiye n’ibirwanisho bikwiye; kandi turi inshirwarimenetse ku rugamba, ingingo ya nyuma rero ikwiye gufatwa na we, raba ico wodutegeka gukora, duheze twubahirize itegeko ryawe”."},{"id":34,"translation":"Umwamikazi, yavuze abagabisha ku ngaruka mbi zo guhangana na Sulayimani, ati: “Mu vy’ukuri, iyo abami binjiye n’ingabo zabo bakigarurira agacimbiri ku nguvu, baraheza bakagasambura, abubahwa muri ko, bagacika ba nyarucari basuzuguritse; muri bo hakaba abicwa hakaba n’abagirwa imbohe. Iyo rero, ni yo nyifato y’abami kugira batinyike;"},{"id":35,"translation":"Mu vy’ukuri jewe, ngira ndungikire Sulayimani n’abantu biwe utuganuke tw’agaciro, mpeze ndamwikundwakazeko, mu kurindira inyishu ihava izanwa n’intumwa ndungitse”."},{"id":36,"translation":"Intumwa y’umwamikazi imaze gushika kwa Sulayimani, imuzaniye na twa tuganuke, Sulayimani yatwamiriye kure, ati: “Muntura utuganuke tw’agaciro kugira mungondoze! Ivyo Imana Allah Yandonkeje, Ikangira Intumwa, Ikampa n’ubwami hamwe n’amatungo menshi, birandutira ivyo Yabaronkeje, ahubwo rero mwebwe munezerezwa n’utuganuke muhabwa ku guhurumbira no kwishimira amaronko”."},{"id":37,"translation":"Sulayimani yongera abwira ya ntumwa yarungitswe n’umwamikazi wa Saba-i ati: “Subirayo n’utuganuke twanyu, ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko nzoza ndabazaniye ingabo badashobora guhangana na zo, nta n’inkeka ko tuzobomora mu gihugu cabo basuzuguritse nibatemera gusenga Imana Imwe Rudende Allah”."},{"id":38,"translation":"Sulayimani yabwiye abari ng’aho mu ngabo ziwe ati: “Ni nde muri mwebwe yonzanira ng’aha intebe y’inganji y’uyu mwamikazi, imbere yuko abantu bo muri Saba-i n’umwamikazi wabo baza iwanje bicishije bugufi, ari abislamu?”."},{"id":39,"translation":"Igihangange mu Majini cavuze giti: “Jewe, ndashoboye kuyikuzanira imbere yuko uhaguruka mu cicaro cawe co gutunganiriza abantu, kandi jewe mu vy’ukuri ndafise inguvu zo kuyishikana ng’aha ata cononekaye, ndi n’umwizigirwa”."},{"id":40,"translation":"Uwahawe ubumenyi bw’Igitabu yavuze ati: “Jewe, ndashoboye kuyikuzanira imbere yuko ukubita urugohe”. Sulayimani yapfuye kumurekurira, aca asaba Imana Allah ubwo nyene aba yashikanye ng’aho nya ntebe y’inganji. Sulayimani amaze kubona ya ntebe iri iwe, yaciye avuga ati: “Iyi, ni mu mpano z’Imana yanje Rurema Allah Impa, kugira Ingerageze ko nshima canke ngarariza mu kudashima! Burya uwushimiye Imana Allah, ni ukuri aba ashimye ku neza yiwe; nayo uwugararije mu kutayishimira, burya Imana yanje Rurema Allah, ni Uwikenuye, Yikenuye muri vyose; Mugiraneza, Iha ico Ishatse uwo Ishatse mu buryo Ishatse”."},{"id":41,"translation":"Ni ho rero Sulayimani yaca avuga ati: “Nimuyoberanye intebe y’inganji y’uyo mwamikazi, maze turabe ko ahava amenya ko ari iyiwe canke ko atari iyiwe”."},{"id":42,"translation":"Wa mwamikazi wa Saba-i amaze gushika kwa Sulayimani, yabajijwe ati: “Mbega intebe y’inganji yawe yoba imeze nk’ukwo?”. Wa mwamikazi yishura ati: “Mbona isa nkayo!”. Ni ho rero Sulayimani yatahura ko nya mwamikazi yamaze kumenya ububasha bw’Imana Allah, aca avuga ati: “Twari twahawe kumenya ububasha bw’Imana Allah imbere yuko nya mwamikazi abumenya, turaheza twicisha bugufi tuba abislamu”."},{"id":43,"translation":"Icabujije nya mwamikazi gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni uko yasenga mu gishingo cayo ibigirwamana kuko yakuriye mu bagarariji, ahandi ho nya mwamikazi yari ashoboye gutandukanya ukuri n’ikinyoma."},{"id":44,"translation":"Nya mwamikazi yabwiwe ati: “Shika winjire rero mu kirimba”. Nya kirimba cari gishashwe n’ibiyo bibonerana hasi, musi yavyo hatemba amazi. Nya mwamikazi abonye nya biyo bishashe hasi, yibwiye ko ari amazi, aca akutsa impuzu kugira ayacemwo; Sulayimani amubonye, aca amubwira ati: “Ivyo, ni ibiyo bibonerana bishashe hasi, amazi aca musi yavyo”. Ni ho rero nya mwamikazi yatahura ko ubwami bwa Sulayimani buhambaye, maze aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri narirenganije mu kukubangikanya, nicishije bugufi rero mu gukurikira hamwe na Sulayimani idini ry’ubwislamu, idini ry’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”."},{"id":45,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, kugira abararikire kwemera Imana Allah, araheza ababwira ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose, munayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya”. Ni ho baca bicamwo imigwi ibiri: abamwemera n’abamugarariza, umugwi wose muri yo ukemeza ko ari wo uri mu kuri."},{"id":46,"translation":"Swalehe yabwiye umugwi w’abamugarariza ati: “Ni kuki, aho nyene mwihutira kugarariza no gukora ibibi mwohanirwa, ha kwihutira ukwemera n’ugukora ivyiza mwohemberwa! Mbega ntimwopfuma musaba Imana Allah imbabazi, mukigaya ku vyaha vyanyu kugira Ibagirire impuhwe!”."},{"id":47,"translation":"Abagarariji bishuye Swalehe bati: “Wewe hamwe n’abinjiye mw’idini ryawe, muraduteye umwaku koko”. Swalehe yaciye abishura ati: “Icobashikira cose, caba iciza canke ikibi, kizoba caragezwe n’Imana Allah kuri mwebwe, ahubwo rero mwebwe muri abantu mugeragezwa ku butunzi no ku bukene, co kimwe no kugeragezwa ku ciza n’ikibi”."},{"id":48,"translation":"Mu gisagara[5] ca Swalehe rero, hari abantu b’ibigaba icenda bagenzwa n’ubwononyi kw’isi; ntibigera bakora ibitunganye namba;","footnotes":"[5] Ico gisagara, ubu kiri ahitwa “Al-Hijri” mu buraruko bushira uburengero bw’ikigobe c’Abarabu."},{"id":49,"translation":"Abo bantu icenda, babwiranye hagati yabo bati: “Umwumwe wese, narahire kw’izina ry’Imana Allah, ko dutegerezwa gutera giturumbuka Swalehe mw’ijoro, maze tukamwica we hamwe n’umuryango wiwe; hanyuma bukeye, nta nkeka ko tuzobwira umuhagarikizi wiwe azoshaka kumwihorera, ko tutigeze tumenya uko yapfuye, duheze turahire turengwe ko turi imvugakuri koko mu vyo tuvuze”."},{"id":50,"translation":"Ni ho bategura nya gutegura uwo mugambi mubi wo kwica Swalehe hamwe n’umuryango wiwe, maze Twebwe Allah Turahinyura nya mugambi, Turaheza Dukingira Swalehe n’umuryango wiwe, ntibicwa, Duca Duhana nya bantu b’ibigaba giturumbuka ata vyo bari biteze."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu iherezo ry’umugambi wabo mubi ryagenze; ni ukuri, Twararanduranye n’imizi nya bigaba hamwe n’abantu bavyo bose;"},{"id":52,"translation":"Ng’iyo n’imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, Twabahoneje ku kwirenganya kwabo mw’ibangikanyamana no mu guhakana bivuye inyuma Intumwa Swalehe. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu bihweza bakamenya ukuntu Twabahanye."},{"id":53,"translation":"Twaranarokoye mu bihano vy’ihonywa rya Bene Thamuudi Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abemeramana bari kumwe, bakanikingira n’ibihano vy’Imana Allah mu kuyemera."},{"id":54,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Luutwi igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Karashize ingani mwubahuke gukora akaranda kandi mubona inkurikizi mbi zako!"},{"id":55,"translation":"Ubwo vy’ukuri, murubahuka kwabira abagabo nkamwe mukabipfuza, ha kwipfuza abagore! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu badatahura agateka k’Imana Allah kuri mwebwe, ari na co gituma muca kubiri n’amabwirizwa yayo, mukanahakana n’Intumwa yayo!”."},{"id":56,"translation":"Ico gihe, nta nyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi, atari ukubwirana hagati yabo bati: “Luutwi n’umuryango wiwe, nimubomore mu gisagara canyu. Mu vy’ukuri, bo ni abantu biyubashe[6]!”.","footnotes":"[6] Bababwiye ukwo ku gashinyaguro."},{"id":57,"translation":"Ni ho Twebwe Allah, Twategeka Luutwi n’umuryango wiwe kuva muri nya gisagara, Turaheza Tubarokora mu bihano vyari bigiye gushika, kiretse umugore wiwe yahonejwe mu bandi kuko yashigikira ingeso zabo mbi."},{"id":58,"translation":"Twabahanishije rero imvura y’amabuye mu kububikako igisagara cabo. Yari imvura y’amabuye y’akataraboneka, yahoneje abagabishijwe ku bihano vy’Imana Allah maze bica amatwi."},{"id":59,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah, nihasangwe amahoro n’umutekano bivuye kuri Yo, abaja bayo Yatoye kuba Intumwa”, uheze ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah Ishoboye kugira ico Ibamariye n’ico Ibiciye, si Yo Nziza Ikwiye gusengwa, canke ni ibigirwamana muyibangikanya kandi ata co vyimariye, ata n’ico vyiyiciye, nkeswe kugira ico bibamariye n’ico bibatwaye!”."},{"id":60,"translation":"Babaze kandi uti: “Mbega burya Imana Allah Yaremye amajuru n’isi, Ikanabamanurira n’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Ikabatotahariza imirima iteye igomwe, mutari gupfa munagishije ibiti vyayo ku bwanyu iyo hataba nya mvura yaguye ku bw’Imana Allah, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana yaremye nk’ivyo, kugira ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah!”. Ahubwo rero ababangikanyamana, ni abantu bahusha inzira y’ukwemera vy’ukuri, bagaheza bakabangikanya Imana Allah n’ibiremwa vyayo."},{"id":61,"translation":"Ongera ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah, Yatururuje isi Ikanayicako inzuzi, Ikayishirako n’imisozi iyishigikiye nk’imambo, Igashira no kw’ihuriro ry’amabahari abiri atandukanye mu kanovera k’amazi, agakingo gatuma amazi y’akanovera ya rimwe muri nya mabahari atavangana n’ayandi y’icunyunyu y’irindi bahari bihurira hamwe, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana yaremye nk’ivyo, kugira ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah!”. Ahubwo rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi icubahiro c’Imana Allah ngo baheze bayisenge batayibangikanya."},{"id":62,"translation":"Subira ubabaze uti: “Mbega burya Imana Allah Ikemurira ibibazo umunyavyago igihe ayitakambiye akayisaba, Ikanakura abantu mu kabi kabashikiye, Ikanabagira abasubirizi b’abo hambere yanyu mu gukurakuranwa kw’isi, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana ibaronsa inema nk’izo, ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah! Burya mwibuka gake ngo mwikebuke;"},{"id":63,"translation":"Mbega burya Imana Allah Ibarongora Ikabazimurura mu muzimagiza w’imusozi no mw’ibahari iyo muzimiye inzira, Ikanatuma umuyaga usunika ibicu, ugatanga n'umwizero w’imvura ko igiye kugwa ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana ishoboye kubakorera nk’ivyo, ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah! Imana Allah, nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;"},{"id":64,"translation":"Mbega burya Imana Allah Yatanguye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ikaba Ishoboye kuvyaka ubuzima bigapfa, hanyuma Ikabisubiza ubuzima bikazuka, Ikanabironsa ibibibeshaho mu gutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze isi igatotahara, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana ishoboye gukora nk’ivyo, ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nyabuna rero, nimuzane ivyemezo vyanyu nimwaba muri imvugakuri, ko Imana Allah Ifise ababangikanije na Yo mu bwami no mu gusengwa!”."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Nta n’umwe mu biremwa biri mu majuru no kw’isi azi ibinyegejwe ibiremwa, atari Imana Allah Yo Yonyene gusa, eka na nya biremwa ntibizi n’igihe bizozukirako;"},{"id":66,"translation":"Ahubwo bazomenya neza ibinyegejwe igihe babibonye ukuri kwamye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mu gihe bakiri kw’isi bahorana amakenga ko nya buzima butabaho, ahubwo rero ababangikanyamana, ni ibipfamaso”."},{"id":67,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma ko ata Mana Imwe Rudende Ibaho, barinamuye bati: “Ubwo none ga ntuze! Nitwamara gupfa twebwe hamwe n’abavyeyi bacu tugacika ivu, burya tuzosubizwa ubuzima nk’uko twahora kw’isi!"},{"id":68,"translation":"Ni ukuri, kuva kera na rindi, twarasezeraniwe twebwe hamwe n’abavyeyi bacu ko tuzozuka, ariko gushika n’ubu nta kiraba! Iri sezerano ry’izurwa ry’ibiremwa, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”."},{"id":69,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, uti: “Ehe nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, uko ryagenze”."},{"id":70,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukicwe n’intuntu y’ukudashoka wumvirwa, eka ntukicwe n’agahinda gatewe n’imitego bagutega, kuko Imana Allah Izogushikana ku ntsinzi."},{"id":71,"translation":"Ababangikanyamana bavuga bati: “Iryo sango ryo guhanirwako ku musi w’izuka, rizoshika ryari ga Muhama! Wewe n’abemeramana muri kumwe, nimwaba muri imvugakuri, nimutubwire isango ry’uyo musi!”."},{"id":72,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Tenyenya! Kumbure hari n’aho bimwe mu bihano mwihutisha, vyoba biri hafi gushika”."},{"id":73,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Nyeningabirano ku bantu mu kutihutira kubahana mu gihe bayigararije; ariko rero abenshi muri bo, ntibayishimira kuri iyo ngabirano ngo baheze bayisenge ari Imwe Rudende."},{"id":74,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri Irazi neza ibihishijwe mu bikiriza vy’ibiremwa vyayo n’ivyo bigaragaza."},{"id":75,"translation":"Nta n’ikintu na kimwe kinyegejwe ibiremwa mw’ijuru no mw’isi, kiretse ko kiri mu Gitabu nyezina “Lawhu Mahfuudhw” gitomora kigahetura vyose ku Mana Allah; vyaba ari ivyo muri kahise canke muri kazoza."},{"id":76,"translation":"Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, iriganira Bene Israyeli ukuri kuri vyinshi bahazanyeko."},{"id":77,"translation":"Kandi mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni uburongozi n’impuhwe ku bemeramana bayemera bakanayigendera."},{"id":78,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izocira urugororotse abahazana mu kutemera ukuri, maze Ihane ibigaba muri bo, Iheze Ihembe n’abagororotsi, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose;"},{"id":79,"translation":"Niwishimikize rero Imana Allah uheze uyizere muri vyose. Mu vy’ukuri wewe, uri mu kuri gutomoye kutagiramwo amakenga namba."},{"id":80,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ntushobora kurongora ibipfamutima bitanyurwa ngo ubishoboze kwumva ukuri ngo bigukurikire, eka ntushobora no kurongora ibipfamatwi ngo ubishoboze kwumva no gutegera ubutumwa, mu gihe bigenza umugongo bikwirengagiza[7];","footnotes":"[7] Ntumwa y’Imama! Ntugatuntuzwe rero n’ukubona ababangikanyamana batakwemera ngo bagukurikire, kuko bo ni nka ba nyamuragi ntibumva, ni nk’abapfuye ntibanyurwa namba n’aho boba bari hambavu yawe, nkeswe rero mu gihe baguhunga ngo ntibumve n’ubutumwa ubashikiriza."},{"id":81,"translation":"Eka ntunashobora no kurongora mu gushoboza gutumbera inzira y’ukuri, abo Imana Allah Yahumishije mu kutabona ukuri, gutyo bagahuba ku bugaba bwabo; burya ico ushoboye, ni ukwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye."},{"id":82,"translation":"Igihe rero hageze ko bahanwa ku kurendegera kwabo mu vyaha no kwirengagiza amabwirizwa y’Imana Allah, Twebwe Allah Tuzoheza Duserure kimwe mu bimenyetso rutura vy’umuhero w’isi; kikaba ari ikinyamaswa Tuzosokorora kivuye mu kuzimu, giheze kibavugishe kibereka ko abantu bahakana izurwa ry’ibiremwa, batigeze bemera Aayah zacu za Qor’ani ngo bazigendere, n’uko batigeze bemera n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ngo bayikurikire."},{"id":83,"translation":"Umusi rero Twebwe Allah, Twegeranirije hamwe abantu bahakana bivuye inyuma Aayah zacu, bavuye mu mugwi umwumwe warungikiwe Intumwa, maze bagashorerwa kugira baharurirwe;"},{"id":84,"translation":"Gushika aho begeranirizwa hamwe, maze Imana Allah Ibabwire Iti: “Mbega mwarahakanye mwivuye inyuma Aayah zanje Narungikanye Intumwa, muhakana n’ivyemezo hamwe n’ibitangaro Naberetse vyerekana ko ari Jewe Nkwiye gusengwa Ntabangikanywa, ivyo vyose rero ntimwari mwabihetuye mu bumenyi bwemeza ko atari ivy’ukuri, mbega hoho mwahoze mukora iki!”;"},{"id":85,"translation":"Ibihano rero bizoheza bibagire kuko birenganije mu buhakanyi, ntibazonaronka n’ico bavuga mu kwiregura ngo bakurweko nya bihano."},{"id":86,"translation":"Mbega abahakanye Aayah zacu za Qor’ani, ntibabonye ko Twebwe Allah Twabagiriye ijoro kugira baturure, baheze baruhuke; Tukanabagirira umurango kuba habona kugira barondere icorirenza! Mu vy’ukuri, muri ukwo gukurakuranwa kw’ijoro n’umurango, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bantu bemera ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bagaheza bakayisenga ari Imwe Rudende."},{"id":87,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi umumalayika yavugije inzamba, maze ibiremwa biri mu majuru n’ibiri mw’isi bigatekerwa n’ubwoba havuyemwo uwo Imana Allah Ishatse Ikamutekanisha, ibiremwa vyose rero bizoja ku Mana Allah vyicishije bugufi."},{"id":88,"translation":"Uzobona imisozi, maze wiyumvire ko ihagaze bwuma kandi iriko iragenda bukebuke nk’igenda ry’ibicu bisunitswe n’umuyaga; ico, ni igikorwa c’Imana Allah Yo Yaremye ikintu cose, maze Ikakiringaniza neza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mugira vyose, kandi Izobibahembera."},{"id":89,"translation":"Abazoza rero ku musi w’izuka baremeye Imana Imwe Rudende Allah, bakaba baranakoze n’ivyiza bitegetswe, bazoheza bahabwe n’Imana Allah indishi nziza ihambaye y’Ubwami bw’ijuru, kandi bobo bazoba batekanye kuri uwo musi ibiremwa bizotekerwa n’ubwoba."},{"id":90,"translation":"Nayo abazoza kuri nya musi barabangikanije Imana Allah, bakaba baranakoze n’ivyaha, bazoheza batabwe mu muriro bubitse inda, hanyuma babwirwe ku gashinyaguro n'akantu bati: “Mbega mugira ngo murahembwa kiretse ku vyo mwakoze kw’isi!”."},{"id":91,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bose uti: “Ni ukuri, nategetswe gusenga Imana Rurema w’iki gisagara ca Makka, Imana Allah Yaziririje ku biremwa ko, nya gisagara giseserwamwo amaraso ku karenganyo, ko hatagira n’umwe akirenganirizwamwo, ko ata gihigwa c’aho gihigirwamwo, canke ngo hagire igiti c’aho cicirirwamwo, ni na Yo Nyeningingo ku kintu cose. Naranategetswe no kuba ndi mu bislamu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa;"},{"id":92,"translation":"Nategetswe no gusomera abantu Qor’ani”. Kubera ivyo rero, uwuzotumbera inzira igororotse akagendera Qor’ani, ni ukuri ni we nyene bizogirira akamaro; nayo uwuzohuba iyo nzira akaba intumva, Ntumwa y’Imana! Uraheza umubwire uti: “Ni ukuri jewe, ndi mu bagabisha ku bihano vy’Imana Allah, sinjejwe kubahatira kwemera”."},{"id":93,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uvuge uti: “Ishimagizwa, ni iry’Imana Allah, Yo Izoheza Ikabereka Aayah n’ivyemezo vyayo muri mwebwe nyene no mw’ijuru no mw’isi, muheze mubitahure ukuri kwamye, bitume mutandukanya ukuri n’ikinyoma”; kandi burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera."}]},{"id":28,"verses":[{"id":1,"translation":"Twaa Siin Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani Nakumanuriye, gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tukwiganira vy’ukuri ku nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni, ku neza y’abantu bemera iyi Qor’ani, bakanayigendera."},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri, Firawuni yaranzwe n’amanyama n’ubwononyi kw’isi, araheza afata abantu abacamwo imigwi, acinyiza umugwi wa Bene Israyeli, awucura bufuni na buhoro, yica abana babo b’abahungu bose bavutse, asigaza abana b’abakobwa mu kubagira abashumba. Mu vy’ukuri, Firawuni yari mu bagenzwa n’ubwononyi kw’isi."},{"id":5,"translation":"Twebwe Allah, Dushaka rero gutera iteka abacinyijwe bagacurwa bufuni na buhoro kw’isi, maze Tubagire indongozi zirarikira abandi ugukora ivyiza, Tunabahe gutorana isi mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’abantu biwe;"},{"id":6,"translation":"Duheze Tubatsimbataze kw’isi, maze Twereke Firawuni na Haamaani n’ingabo zabo, ko ivyo bicura ko ubwami bwabo bwosenyuka hamwe boreka Musa agakura, bishoboka."},{"id":7,"translation":"Nyina wa Musa rero amaze kwibaruka agatinya ko Musa yokwicwa na Firawuni, Twaramuhumurije, Duti: “Mwonse utekanye! Niwatinya ko yohava yicwa, uramufata umushire mw’isandugu, maze uyikororere mu ruzi rwa Nili; ntuzogire impungenge namba ko Firawuni n’abantu biwe bohava bamwica, uragumiza n’umutima mu nda, ntuzokwicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yawe; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzomukugarukanira Duheze Tunamugire n’Intumwa”."},{"id":8,"translation":"Nyina wa Musa ni ho yashira Musa mw’isandugu, araheza ayikororera mu ruzi rwa Nili. Ni ho rero abantu ba Firawuni bayitora, gutyo ivyagezwe n’Imana Allah bija mu ngiro, ko Musa azobabera umwansi, akababera n’imvo yo kwicwa n’intuntu igihe basomeshejwe nturi, bagahona. Mu vy’ukuri Firawuni na Haamaani hamwe n’ingabo zabo, bari abanyavyaha b’ababangikanyamana."},{"id":9,"translation":"Umugore wa Firawuni aho aboneye Musa, yabwiye Firawuni n’ikigumbagumba n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano! Iki kibondo kizotubera twempi imvo y’akanyamuneza! Ndakwinginze ntuhirahire ngo ucice, hari aho cogira ico kitumariye canke tukacirerera nk’umwana wacu!”. Ivyo vyose rero, babigira batazi ko Musa azoba imvo y’ihonywa ryabo."},{"id":10,"translation":"Nyina wa Musa yasigaye atuntuye ku mutima, ku buryo ata n’ikindi kintu camuraza ishinga, kiretse ukubona umwana wiwe Musa. Yarahatswe no kwatura ko ari we nyina wa Musa, iyo Tutamugumiriza umutima kugira abe mu bemeramana koko bizera isezerano ry’Imana Allah."},{"id":11,"translation":"Nyina wa Musa amaze gukororera mu ruzi nya sandugu yashizemwo Musa, ni ho yabwira mushiki wa Musa ati: “Mwananje! Kurikirana iyi sandugu, maze urabe iherezo ryayo”. Nya mukobwa yarayikurikiranye gushika n’aho ayibona ihagaze ku nkengera z’uruzi rwa Nili; muri ico gihe, ingabo za Firawuni ntizanamenye ko ari mushiki wa Musa ariko arayikurikirana kuko yayirabira kure nk’uwutahari."},{"id":12,"translation":"Twebwe Allah, Twaraziririje ko Musa yonka ibere ry’uwo ari we wese mu bakenyezi, imbere yuko Tumusubiza kwa nyina. Ni ho rero mushikiwe yabwira abari ng’aho ati: “Mbega mwonkundira nkabarangira umuryango womwitaho ukamurera ukanamwonsa, ukanamuha impanuro za kivyeyi?”. Ba bantu bari ng’aho na bo baraheza baramwemerera ko yobarangira nya muryango."},{"id":13,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twasubiza Musa kwa nyina kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yiwe, no kugira amenye ko isezerano yahawe n’Imana Allah, ari iry’ukuri. Imana Allah burya ntirenga kw’isezerano, ariko abenshi mu babangikanyamana nta vyo bazi."},{"id":14,"translation":"Musa rero amaze kugera mu bigero akaba umugabo abushitse, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa ku bugwaneza bwiwe - Duhemba abagwaneza."},{"id":15,"translation":"Musa yarinjiye mu gisagara ca Misiri yinyegeje mu gihe abantu b’aho bari basamaye, ahasanga abagabo babiri bariko bararwana; umwe muri bo yakomoka mu bantu biwe, Abene Israyeli, uwundi na we yakomoka mu bantu ba Firawuni, Abanyagiputa. Maze uwukomoka mu bantu biwe aramwiyambaza ngo amutabare, Musa araheza akubita igipfunsi wa Munyagiputa, aca ararambarara. Musa aca avuga yinegura ati: “Iki gikorwa giturutse ku nyoshambi za shetani zatumye ntwarwa n’agashavu nkamukubita agaca apfa. Mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara wa mwene Adamu, ihubisha inzira igororotse[2]”.","footnotes":"[2] Ikubitwa ry’uyu Munyagiputa ryabaye imbere yuko Musa arungikwa kuba Intumwa."},{"id":16,"translation":"Musa yaciye avuga yigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, nirenganije ku kwica umuntu ku karenganyo, ndagusavye rero ko Wongumiriza akabanga Ukambabarira iki caha”. Ni ho Imana Allah Yaca Imubabarira nya caha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":17,"translation":"Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Kubera inema nyinshi Wampaye harimwo n’inema yo kunyumvira ku kwigaya kwanje, sindota nifadikanya n’umwe mu banyavyaha mu guca kubiri n’amabwirizwa yawe”."},{"id":18,"translation":"Ni ho rero Musa yaguma mu gisagara ca Misiri afise ubwoba, agendereza kugira yumve inkuru z’ibivugwa ku rupfu rw’Umunyagiputa yaraye yishwe. Yahavuye arenguka kuri wa muntu yamwiyambaza ubuheze, ariko ararwana n’uwundi Munyagiputa, amuhamagara ngo amutabare kandi. Musa n’ishavu n’akantu aca amubwira ati: “Mu vy’ukuri, ni ukuri wewe uri umusomborotsi n’inkwezi y’amabi yeruye”;"},{"id":19,"translation":"Musa agize ngo abanguye igipfunsi akubite wa Munyagiputa, wa muntu n’ubwoba n’akantu aca avuga ati: “Ewe Musa! Aho nyene ushaka kunyica nk’uko wishe umuntu ejo! Ntushaka kuba kiretse intagondwa kw’isi, kanatsinda ntunashaka kuba mu bantu banywanisha, bagatunganiriza abandi”."},{"id":20,"translation":"Ni ho rero haza umuntu aje atazambaye, avuye hirya y’igisagara ca Misiri, araheza aburira Musa ati: “Ewe Musa! Uzi n’inkuru, burya abunganizi ba Firawuni bari mu nama rukokoma bajenama ukuntu bokwica; enda nyabuna rero, va muri iki gisagara uhunge, mu vy’ukuri jewe ndi mu bagufitiye impuhwe, uri uwo mpanura wohunga hakiri kare”."},{"id":21,"translation":"Musa aca ava muri nya gisagara atekewe n’ubwoba, arahunga agenda yeraguza irya n’ino, atinya gufatwa, araheza asaba Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unkure mu minwe y’abantu birenganije”."},{"id":22,"translation":"Musa amaze gucika ingabo za Firawuni agana amaja muri Madiyana, yavuze ati: “Kumbure hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yondongora mu nzira inshikana muri Madiyana”."},{"id":23,"translation":"Musa amaze rero gushika ahari amazi ya Madiyana; yahasanze umugwi w’abantu bariko baranywesha ibitungwa vyabo, hepfo yabo ahasanga abigeme babiri bikumiriye ukwabo, ibitungwa vyabo bitariko biranywa, bajumarariwe. Ni ho Musa yumvira impuhwe nya bigeme, maze arababaza ati: “Ko muri ng’aho, ni impore?”. Ba bigeme barishura bati: “Ntidushoboye gusitana n’abagabo, ngo tunyweshe ibitungwa vyacu batabanje guheza kunywesha ibitungwa vyabo, kandi n’umuvyeyi wacu arashaje cane ntashoboye kwiyizira kunywesha ibitungwa”."},{"id":24,"translation":"Ni ho Musa yanyweshereza ba bigeme babiri ibitungwa vyabo, hanyuma n’inzara n’akantu aca aja kwugama izuba mu gatutu k’igiti cari ng’aho, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ndishwe n’inzara, ndakeneye ko Undonsa ico ari co cose comfata mu nda”."},{"id":25,"translation":"Umwe muri ba bigeme Musa yanyweshereza ibitungwa vyabo, yahavuye aza n’isoni nyinshi, araheza abwira Musa ati: “Mu vy’ukuri, dawe araguhamagaye kugira aguhe impembo yo kutunyweshereza ibitungwa”. Musa araheza ajana na nya mwigeme kwa se, amaze kuhagera akamwiganira ivyamushikiye kwa Firawuni n’ingabo ziwe, se wa nya mwigeme yaramutururuje ati: “Subiza umutima mu nda, ntutinye namba, warokotse abantu birenganije kuko aha ni mu kindi gihugu kidatwarwa na bo”."},{"id":26,"translation":"Umwe muri ba bigeme yabwiye se ati: “Da! Muhe akazi akuragirire intungwa. Mu vy’ukuri, umwiza w’abo woha akazi ko kukuragirira, ni uwoba afise inguvu zo gucungera neza ibitungwa, akaba n’umwizigirwa atoguhemukira”."},{"id":27,"translation":"Se wa ba bigeme yabwiye Musa ati: “Uzi n’inkuru, jewe ngomba kugushingira umwe muri aba bakobwa banje babiri, inkwano ziwe zikaba ari uko wonkorera ukandagirira ibitungwa mu kiringo c’imyaka umunani; mu gihe worenzako ugakwiza ikiringo c’imyaka cumi, ivyo vyokuvako, vyoba ari no ku bugwaneza bwawe kuko sindi ng’aho kugira ndakuremereze ngo ukwize imyaka cumi. Imana Allah niyabishaka rero, uzosanga ndi mu beranda bubahiriza ivyo basezeranye”."},{"id":28,"translation":"Musa asubizayo ati: “Ivyo uvuze, ni isezerano riri hagati yanje na we. Ikiringo cose nzoshobora kumara ndagukorera muri ivyo biringo bibiri, nta kabi kuri jewe, nzoba nubahirije isezerano. Burya Imana Allah ku vyo tuvuga, ni Yo Muhagarikizi Izi ivyo dusezeraniye ng’aha”."},{"id":29,"translation":"Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) amaze gukwiza ikiringo c’imyaka cumi, agafata urugendo agaruka muri Misiri ari kumwe n’umuryango wiwe, yabonye umucanwa waka mw’ijoro hambavu y’umusozi Twuuri Sinayi, aca abwira umuryango wiwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa, hari n’aho nobazanira inkuru ituzimurura, canke nkabazanira igishirira kugira mwote”."},{"id":30,"translation":"Musa amaze gushika hamwe yabona umucanwa, yumvise ijwi rizananye mu kabande kari iburyo bw’aho yari ari mu kibanza gihezagiye musi y’igiti, rimuhamagara riti: “Ewe Musa! Mu vy’ukuri, ni Jewe Allah, Imana Rurema w’ibiremwa vyose;"},{"id":31,"translation":"Terera rero inkoni yawe hasi”. Musa amaze kuyiterera hasi, yaciye ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye ya nkoni igenda iranyiganyiga nk’inzoka, yasubiye inyuma amaguru adakora hasi ahunga ata gukebuka kubera ubwoba. Imana Allah Ica Iramutururuza Iti: “Ewe Musa! Garuka ng’aha kandi ntutinye namba, mu vy’ukuri wewe uri mu batekanishijwe, nta kabi kogushikira;"},{"id":32,"translation":"Shira ikiganza cawe mu kwaha ugicishije mw’idebure[3] ry’impuzu, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe, uheze ushire n’ukuboko kwawe ku gikiriza uheze utekane. Ivyo rero, ni ibitangaro bibiri uhawe n’Imana yawe Rurema Allah kugira uje kwa Firawuni n’abunganizi biwe”. Mu vy’ukuri Firawuni n’abunganizi biwe, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.","footnotes":"[3] Ni izosi ry’impuzu."},{"id":33,"translation":"Musa kubera ubwoba, yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri jewe, narishe umuntu mu Banyagiputa, nkaba ntinya ko bonyica mu gihe nosubirayo;"},{"id":34,"translation":"Kandi burya murumunanje Haruna aravuga agatomora kundusha, ndagusavye rero Umundungikane kugira ambere umufasha, anyunganire mu gushikiriza ubutumwa; mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ko ndi Intumwa yarungitswe kuri bo”."},{"id":35,"translation":"Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Tuzogutera intege mu kukurungikana na murumunawe, Duheze Tubahe mwempi ububasha n’ivyemezo bituma Firawuni n’abantu biwe badashobora kubagirira nabi. Mwempi rero hamwe n’abazobakurikira bakabemera, ni mwebwe mutegerezwa gutsinda”."},{"id":36,"translation":"Igihe rero Musa aziye kwa Firawuni n’abantu biwe, yibangikanije n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah vyerekana ko ari Intumwa vy’ukuri, bamubwiye bati: “Nta kuri watuzaniye kiretse ko ari ubukonikoni bw’irementanya; nta n’aho twigeze twumva ivyo uturarikira mu bavyeyi bacu bo hambere”."},{"id":37,"translation":"Musa araheza yishura Firawuni ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwaje azanye uburongozi buvuye kuri Yo, Ikanamenya n’uwufise iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa; kukaba nkako, abirenganije ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":38,"translation":"Firawuni araheza abwira abunganizi biwe ati: “Emwe bunganizi banje! Sinigeze menya ko mufise iyindi mana mukwiye gusenga atari jewe. Haamaani! Ngirira ifuru yo kwokerezamwo amatafari, uheze unyubakire inyubakwa ndende cane y'umunara w’akataraboneka, ndabe ko hari n’aho noduga mw’ijuru nkabona Imana ya Musa aturarikira gusenga; kandi ni ukuri, nibwira ko Musa yoba ari mu babeshi”."},{"id":39,"translation":"Firawuni hamwe n’ingabo ziwe baragize amanyama mu kugarariza Musa ata n’ukuri bisunze mu gihugu ca Misiri, baraheza bibaza ko nibapfa batazozuka bakagaruka iwacu Twebwe Allah."},{"id":40,"translation":"Ni ho rero Twafata Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Tubaterera mw’ibahari basomera rimwe nturi. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu iherezo ry’abirenganya mu kugarariza ryagenze!"},{"id":41,"translation":"Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Twabagize indongozi zirarikira abantu kw’isi kuja mu muriro, no ku musi w’izuka rero ntibazoronka uwubatabara ngo abakure mu bihano."},{"id":42,"translation":"Firawuni hamwe n’ingabo ziwe bamaze gusomeshwa nturi, Twabakurikije ivumwe kw’isi, no ku musi w’izuka bazoba bari mu bantu baranzwe n’ibikorwa bibi cane, badakwiye kugirirwa impuhwe namba."},{"id":43,"translation":"Ni ukuri Musa, Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati mu nyuma y’aho Duhonereje imigwi y’abantu bo hambere yiwe, Igitabu kirimwo inyigisho zituma Bene Israyeli bamenya gutandukanya iciza n’ikibi; harimwo n’ubugororotsi n’impuhwe kugira bibuke inema z’Imana Allah, baheze bayishimire mu kutayigarariza."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntiwari hambavu y’umusozi uri mu burengero bw’aho Musa yari ari, igihe Tumuha amabwirizwa Tukamutuma kwa Firawuni n’abantu biwe; ntiwari no mu babonye ingene vyagenze ngo ubimenye, uheze uvyiganire abantu."},{"id":45,"translation":"Ariko rero mu nyuma ya Musa, Twahavuye Tugira imigwi itandukanye y’abantu, nya migwi iraheza ibaho ikiringo kirekire hagati ya Musa n’irungikwa ryawe, gutyo nya migwi yibagira isezerano ry’Imana Allah, iranadohoka ku mabwirizwa yayo. Ntumwa y’Imana! Ntiwigeze uba no mu bantu ba Madiyana, ngo uheze usomere abantu warungitsweko Aayah zacu za Qor’ani n’inkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni mu vyo wahumviye, ariko rero iyo nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni ubiganira, iri mu vyo wahishuriwe n’Imana Allah."},{"id":46,"translation":"Eka ntiwari no hambavu y’umusozi wa Twuuri Sinayi igihe Twahamagara Musa Tukavugana ukuri kwamye, ariko Twakurungitse kugira ubere ibiremwa impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, uheze ugabishe ku bihano vyacu abantu batigeze bashikirwa n’umugabisha hambere yawe, kugira bibuke baheze bikebuke."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo rero hataba ukwanka guhanira abagarariji ivyaha vyabo batarashikirwa n’Intumwa, bakavuga bigovyora bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ubwo ntiwari gupfuma ubanza kuturungikira Intumwa, maze tugakurikira Aayah ziri mu Gitabu cawe Wamanuye, tugaheza tukaba no mu bemeramana!”, ntitwari kukurungika."},{"id":48,"translation":"Igihe rero Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) izaniye nya bagararji ukuri kuvuye iwacu Twebwe Allah, bavuze bati: “Ubwo ntiyari gupfuma ahabwa ibitangaro bifadika nk’ivyahawe Musa, akanamanurirwa Qor’ani iri hamwe nka Tawurati!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None aho hambere yanje, abayahudi ntibagararije Musa kandi yahawe n’ibitangaro bifadika bivuye ku Mana Allah!”. Baranavuze ko Tawurati na Qor’ani bihuriye ku kuba vyose ari uburozi bukomoka hamwe, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri rero twebwe, ivyo Bitabu uko ari bibiri n’Intumwa zabihawe, tubigararije vyose”."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Enda nyabuna rero, nimuzane igitabu kivuye ku Mana Allah, coba kirimwo uburongozi busumba uburi muri Tawurati no muri Qor’ani, mpeze nanje ndagikurikire nimwaba muri imvugakuri!”;"},{"id":50,"translation":"Nibatashobora kuzana nya gitabu, bakabura n’ikindi cireguzo berekana, uzoce umenya rero ko bakurikira ivyipfuzo vyabo gusa. Nta muntu n’umwe yahuvye yoza asumba uwutwarwa n’ivyipfuzo vyiwe, atisunga uburongozi buvuye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twaratomoreye Qor’ani abantu warungitsweko kugira bibuke bikebuke, baheze bayizigame."},{"id":52,"translation":"Abo Twahaye Igitabu imbere y’imanurwa rya Qor’ani mu bayahudi n’abanaswara batahindaguye ibiri muri nya Gitabu, baremera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":53,"translation":"N’iyo basomewe Qor’ani, baravyemanga bakavuga bati: “Twaremeye Qor’ani turanayigendera; burya Qor’ani, ni ukuri kuzima kuva ku Mana Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko Qor’ani imanurwa, twari abislamu bemera Imana Imwe Rudende Allah bakanayisenga”."},{"id":54,"translation":"Abo, ni bo rero bazohabwa indishi y’ivyo bakoze incuro zibiri; indishi y’ukwihangana bakemera Igitabu cabo, n’indishi y’ukwemera Qor’ani. Biri no mu bibaranga, kuba ikibi bakorewe bagisubiriza iciza; ntibagera ingere ku yindi, no mu vyo Twabaronkeje baratanga mu bikorwa vyiza;"},{"id":55,"translation":"N’iyo bumvise amajambo y’imburakimazi barayirengagiza, ntibigera bayatega ugutwi, bagaheza bakavuga bati: “Turafise ibikorwa vyiza dukora tudahesha, na mwe nyene murafise ibikorwa vyanyu mukora muzohemberwa, nta mwanya rero dutakaza mu kubishura mu mpari, nta n’ico mutwumvako atari iciza no kubipfuriza amahoro, ntitunakunda ingeso mbi n’abantu b’inshirasoni[4]”.","footnotes":"[4] Inyishu nk’izi, ni zo zikwiye gukoreshwa n’abashikirizabutumwa bararikira abantu ukwemera Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":56,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi bakwiye gutumbera inzira y’ukwemera."},{"id":57,"translation":"Abagarariji b’i Makka babwiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Hamwe tworamuka dukurikiye ukuri watuzaniye tukavavanura n’ibangikanyamana, twokwicwa, tukagirwa imbohe, tukamburwa n’amatungo yacu!”. Mbega Twebwe Allah, ntitwabatsimbataje mu gisagara ca Makka gitekanye, kuko Twaziririje ko giseserwamwo amaraso, Turaheza Tubaronsa muri nya gisagara ivyamwa vy’ubwoko bwose, bizanwa bivuye mu yandi makungu! Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi akamaro k’izo nema ngo baheze bazishimire Imana Allah mu kuyumvira."},{"id":58,"translation":"Hari n’abantu benshi Twahoneje mu ducimbiri, igihe bahendwa no kuroranirwa mu buzima bwabo, bituma bagira amanyama mu kugarariza Intumwa; ng’iyo n’imihana yabo, nta n’umwe yashoboye kuyibamwo inyuma y’ihonywa ryabo, ku kubera ububi bw’ivyaha bahakoreye, kiretse akanya gato uwurengana ahamara, ni na Twebwe Allah rero Twatoranye nya mihana."},{"id":59,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntivyari gushika ko Imana yawe Rurema Allah, Ihonya uducimbiri dukikuje igisagara ca Makka, Itabanje kurungika muri ico gisagara Intumwa ibasomera Aayah zacu Twebwe Allah, kanatsinda ntitwigeze Duhonya uducimbiri, kiretse ko abatubamwo baba birenganije mu kugarariza, maze Imana Allah Ikabahanira ubugarariji bwabo."},{"id":60,"translation":"Bantu! Ico cose muronswa mu bibondo n’amatungo, ni ico kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, ni n’igisharizo gusa muri nya buzima. Nayo ibitegekanirijwe abagamburukiramana biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza gusumba kandi vyamaho. Mbega none, ntimwogarura akenge ngo mutahure ikibi n’iciza!"},{"id":61,"translation":"Mbega none umuntu Twasezeraniye guha Ubwami bw’ijuru ku bugamburukiramana bwiwe, maze akazoronka ivyo Twamusezeraniye, ni nk’uwo Twahaye kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, maze akaryoherwa na nya buzima akabuhurumbira ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, hanyuma akazoshengezwa ku musi w’izuka, kugira aharurirwe ku vyo yakoze! Abo bantu babiri ntibashobora kunganya namba ubutore."},{"id":62,"translation":"Umusi rero Imana Allah Yahamagaye abayibangikanije Ikababwira Iti: “Bari hehe kuri uno musi abo mwambakinanije kw’isi, mwibaza ko Tungana?”."},{"id":63,"translation":"Abararikira ubugarariji bamaze kwagirwa n’ibihano ku musi w’izuka, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Aba twahubishije, twabahubishije nk’uko na twe nyene twahuvye, turabiyamirije imbere yawe, mbere si twebwe bahora basenga, bahora basenga amashetani”."},{"id":64,"translation":"Ababangikanyamana, ku musi w’izuka bazobwirwa bati: “Nimuhamagare rero abo mwahora mumbangikanya, mukabasenga mu gishingo canje Jewe Allah, baheze babakure mu bihano!”. Bazoheza rero babahamagare bananirwe kubitaba, maze imigwi yompi ibone ukuri kwamye ibihano biyirindiriye, iheze yicuze kubona itari mu bagororotsi kw’isi."},{"id":65,"translation":"Umusi Imana Allah Yahamagaye ababangikanyamana Ikababwira Iti: “Mbega Intumwa Nabarungikiye mwazumviye gute!”."},{"id":66,"translation":"Nta vyireguzo kuri uwo musi bazoronka, bazobura ayo bacira n’ayo bamira, ntibazonabazanya hagati yabo ngo baronke inyishu yobagirira akamaro."},{"id":67,"translation":"Uwo wese rero yigaye mu babangikanyamana, agaheza akemera akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu baronse intsinzi mu buzima bwo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":68,"translation":"Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Irema ico Ishatse kurema, Ikanatora kuba umutoni wayo uwo Ishatse. Nta kiremwa na kimwe rero cokwishoboza gufata ingingo no guhitamwo ikintu, mu gihe Imana Allah Itabishatse. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;"},{"id":69,"translation":"Kandi burya Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibihishijwe mu mishaha y’ibiremwa vyayo hamwe n’ivyo bigirira ku mugaragaro."},{"id":70,"translation":"Ni Allah ata mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo; ishimagizwa, ni iryayo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; ishingwa ry’ingingo ku biremwa, ni iryayo. Ni no kuri Yo rero mwebwe mwese muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Nimumbwire uko vyogenda, mbe mu gihe Imana Allah Yobagirira ijoro ryamaho gushika ku musi w’umuhero w’isi, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yobazanira umuco ubamurikira ku murango! Ubwo ntimwokwumva mugategera!”."},{"id":72,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Nimumbwire uko vyogenda, mbe mu gihe Imana Allah Yobagirira umurango wamaho gushika ku musi w’umuhero w’isi, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yobazanira ijoro mwotururamwo! Ubwo ntimushobora kubona mukihweza itandukaniro riri hagati y’ijoro n’umurango!”."},{"id":73,"translation":"Bantu! Ni ku mpuhwe z’Imana Allah rero kuba Yarabagiriye ijoro n’umurango bikurakuranwa mu kubisikanya, Iraheza Igira ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri nya joro muheze muruhuke; Igira n’umurango kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Ivyo vyose Yabibagiriye kugira muyishimire ku nema zayo Yabahaye."},{"id":74,"translation":"Umusi rero Imana Allah Yahamagaye abayibangikanije Ikababwira Iti: “Bari hehe kuri uno musi abo mwambangikanije kw’isi, mwibaza ko Tungana?”."},{"id":75,"translation":"Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dukure icabona mu mugwi uwo ari wo wose w’abantu bagararije, ico cabona kikazoba ari Intumwa barungikiwe izobagiriza ko bayigararije, maze Tubwire nya mugwi w’abantu Duti: “Enda nyabuna rero, nimuzane ivyemezo vyanyu mwisunga mu kubangikanya Imana Allah!”, ntibazoronka n’ico bireguza. Bazoheza rero bamenye ko icemezo c’ukuri ari ikivuye ku Mana Allah, maze bihakane ibangikanyamana, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo, nta ryo bazokwigera baronka."},{"id":76,"translation":"Mu vy’ukuri Qaaruuni, yari mu bantu ba Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishimako. Twebwe Allah, Twaranahaye Qaaruuni amatungo menshi, kugera n’aho impfunguruzo z’ububiko bwa nya matungo zaterurwa n’umugwi w’abagabo b’imirya. Igihe rero abantu ba Qaaruuni bamubwira bamuhanura bati: “Ntugire amanyama mu kwishimira amatungo yawe; mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda na gato abanyamanyama bishimira ivyo bafise, ha kuyishimira ku nema zayo;"},{"id":77,"translation":"Enda nyabuna rero, ronderera indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mu gutanga mu vyo Imana Allah Yaguhaye, kandi ntuzokwiyibagire mu kwibeshaho neza kw’isi ata gusesagura, uheze uhereze abantu imperezwa ku bugwaneza ata gashinyaguro, nka kurya Imana Allah Yakugiriye ubugwaneza mu kuguha amatungo menshi; kandi ntukagire ubwononyi kw’isi mu gutandukira ibizira no kwishima ku bantu, mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda na gato abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”."},{"id":78,"translation":"Qaaruuni n’ubwishime n’akantu yabishuye ati: “Ni ukuri aya matungo, nayahawe ku bumenyi n’ubukerebutsi mfise!”. Mbega Qaaruuni, ntiyamenye ko mu vy’ukuri Imana Allah Yahoneje hambere yiwe mu migwi y’abantu, abari bafise inguvu n’amatungo menshi kumurusha! Kandi burya abanyavyaha, ntibazobazwa ku vyaha vyabo kugira bishure ku vyo Imana Allah Itazi, ahubwo bazobazwa kugira bamaramare, bateterwe."},{"id":79,"translation":"Ni ho rero Qaaruuni yasohoka ashajije imbere y’abantu biwe kugira babone ko ahambaye. Abagomba ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi bagize ngo baramubonye, baciye bavuga bati: “Ese icari kuduha amatungo n’icubahiro nk’ivyo Qaaruuni yahawe! Mu vy’ukuri Qaaruuni, yarahawe ibakwe ryo kuronka umugabane uhambaye mu vy’isi”."},{"id":80,"translation":"Nayo abahawe ubumenyi bwo gutahura Imana Allah n’amabwirizwa yayo, barabishuye bavuga bati: “Murahumiwe! Burya indishi y’Imana Allah ku muntu yayemeye akemera n’Intumwa zayo, agakora n’ivyiza bitegetswe, ni yo nziza gusumba ivyahawe Qaaruuni. Nta n’abakira iyi mpanuro bagashobozwa kuyigendera, kiretse abihanganira kwumvira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”."},{"id":81,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twafuririra Qaaruuni n’inyubakwa yiwe mu kuzimu maze amirwa n’isi, ntiyanaronse n’umwe mu ngabo, yomukingira ibihano vy’Imana Allah, eka ntiyari no mu barokoka muri nya bihano;"},{"id":82,"translation":"Maze abipfuje kuba nka Qaaruuni bazinduka batekewe n’ubwoba n’akantu bavuga bati: “Ewe jewe wanje! Ni ukuri burya Imana Allah, Iha umusesekara w’ibibeshaho uwo Ishatse mu baja bayo, Ikanagerera uwo Ishatse muri bo. Iyo Imana Allah Itatugirira ubuntu, Yari kuduhanira hamwe na Qaaruuni ku vyo twavuze. Ewe jewe wanje! Ni ukuri, burya abagarariji ntibazoronka intsinzi namba yo gushika ku vyo bipfuza, haba mu buzima bwo kw’isi eka no mu bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":83,"translation":"Ivyiza vyo muri ubwo buzima bw’inyuma yo gupfa, Tubigenera gusa abantu batagenzwa n’amanyama mu guhonyanga ukuri, no mu gukwiragiza ubwononyi kw’isi. Burya iherezo ryiza ryo kuronswa Ubwami bw’ijuru, ni iry’abagamburukiramana."},{"id":84,"translation":"Abazoza rero ku musi w’izuka baremera Imana Imwe Rudende Allah, bakaba baranakoze n’ivyiza bitegetswe, bazoheza bahabwe n’Imana Allah indishi nziza cane y’Ubwami bw’ijuru. Nayo abazoza kuri nya musi barabangikanya Imana Allah baranakoze n’ivyaha, nibamenye ko abakoze ivyaha batazohembwa kiretse ku vyaha nyene bakoze."},{"id":85,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Uwakumanuriye Qor’ani Akakubwiriza kuyigendera no kurarikira abantu kuyikurikira, ni ukuri Azogusubiza iyo waje uva i Makka. Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza uwazanye uburongozi, Irazi n’uwuri mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri”."},{"id":86,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntiwaziga ko wururukirizwa Igitabu ca Qor’ani, ariko Imana Allah ku mpuhwe zayo Yarakikumanuriye. Uraheza rero ushimire Imana Allah ku nema zayo, kandi ntukabe umufasha w’abagarariji mu bwononyi."},{"id":87,"translation":"Ababangikanyamana, ntibakakubuze gushikiriza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah inyuma y’aho Ibikumanuriye, shikiriza rero ata guhigimanga ubutumwa bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntukabe mu babangikanyamana ku kintu na kimwe."},{"id":88,"translation":"Ntukiyegereze mu gusenga iyindi mana hamwe n’Imana Allah, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ikintu cose kizohona kiretse Imana Allah ubwayo Yonyene[5]. Ishingwa ry’ingingo ku biremwa ni iryayo, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze.","footnotes":"[5] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."}]},{"id":29,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Mbega abantu bibaza ko mu gihe bavuze bati: “Twemeye”, borekwa gutyo gusa batabanje kugeragezwa mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah!"},{"id":3,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje mu buryo butandukanye abantu bo hambere yabo inyuma y’ukubarungikira Intumwa. Burya Imana Allah, ni ukuri Izogaragariza abantu ku vyo Isanzwe Izi, ukuri kw’abemeye vy’ukuri muri bo, n’ikinyoma c’abemeye gusa ku karimi bitavuye ku mutima, maze hamenyekane imvugakuri n’umunyakinyoma. Izoheza rero Ihembere umugwi wose muri yo ivyo wakoze."},{"id":4,"translation":"Karashize ingani, abanyavyaha bibaze ko bocaruka bakatunanira guhana! Nibaba bibaza ukwo rero, ni mbi cane ingingo bafata."},{"id":5,"translation":"Uwuzoba yizeye kuzohura n’Imana Allah Ikamuhembera ivyo yakoze, namenye mu vy’ukuri ko isango ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze, riri hafi kugera, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora n’ivyo bizirikana."},{"id":6,"translation":"Uwuzoharanira ko ijambo ry’Imana Allah riganza, akihanganira n’igamburukiramana, ni ukuri bizoba ari ku neza yiwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni ukuri ni Yo Uwikenuye, Yikenuye muri vyose, nta co Ikeneye mu bikorwa vy’ibiremwa."},{"id":7,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri Twebwe Allah, Tuzobahanagurira ibicumuro vyabo, Tuzonabahemba indishi nziza cane ku vyiza bakoze."},{"id":8,"translation":"Umuntu, Twamuhanuye kuba umugwaneza ku bavyeyi biwe mu mvugo n’ingiro. Muntu! Abavyeyi bawe nibaramuka baguhatiye ku kumbangikanya n’ikindi kintu, ntuzobumvire na gato[2]. Ni kuri Jewe Allah muzosubizwa mwese, Mpeze Ndabamenyeshe ivyo mwari mwarakoze kw’isi, Ndabibahembere.","footnotes":"[2] Ivyaha n’ibicumuro, biri mu vyo umuntu atarekuriwe kwumviramwo abavyeyi mu gihe bamuhatiye kubikora; kuko bitarekuwe kwumvira kiremwa-muntu mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":9,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo rero bagakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri Twebwe Allah, Tuzobinjiza mu beranda bo mu Bwami bw’ijuru."},{"id":10,"translation":"Burya mu bantu, harimwo abavuga n’akarimi gasosa gusa bitavuye ku mutima bati: “Twemeye Imana Allah”. Bagize ngo barageramiwe n’ababangikanyamana kubera ukwemera kwabo, bagaca bihebura bagacika inkokora mu kutihanganira nya geramirwa, nk’aho nya geramirwa ryoba ari ibihano vy’Imana Allah, bagaca badohoka no ku kwemera. Ntumwa y’Imana! N’iyo abemaramana baronse intsinzi ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni ukuri nya bantu badohoka ku kwemera, baca bavuga bati: “Ni ukuri, twebwe twari kumwe na mwe mu kubatabara!”. Mbega burya Imana Allah, si Yo Izi neza ibiri mu mishaha y’ibiremwa!"},{"id":11,"translation":"Burya Imana Allah, ni ukuri Izogaragariza abantu ku vyo Isanzwe Izi, ukuri kw’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; ni ukuri, Izonagaragaza n’indyarya."},{"id":12,"translation":"Abahakanye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah mu Bakorayishi, batemera n’ivyo Yasezeraniye ibiremwa, bavuze babwira abemeye Imana Allah bakanagendera n’amabwirizwa yayo, bati: “Nimuvavanure n’idini rya Muhamadi, maze mukurikire idini ryacu, duheze twiremeke ivyaha vyanyu, tuzobihanirwe”. Eka noneho ntibashoboye kwiremeka na kimwe mu vyaha vyabo, mu vy’ukuri barabesha mu vyo babwiye abemeramana."},{"id":13,"translation":"Ni ukuri, ababangikanyamana bazokwiremeka ivyaha vyabo, hiyongeyeko n’ivyaha vy’abo bahubishije bakanababuragiza gukurikira inzira y’Imana Allah; kandi ni ukuri ku musi w’izuka, bazobazwa ku vyo bahora barementaniriza Imana Allah."},{"id":14,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse Nuhu ku bantu biwe, araheza abana na bo imyaka igihumbi haburamwo imyaka mirongo itanu; muri iyo myaka yose yabararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ariko ntibigeze bamwumvira namba, maze Imana Allah Ica Ibahonesha isegenya ry’akataraboneka, barirenganije koko mu kugarariza."},{"id":15,"translation":"Ni ho rero Twarokora muri nya segenya Nuhu n’abamukurikiye bari mu bwato, Turaheza Tugira irokorwa ryabo inkebuzo ku biremwa vyose."},{"id":16,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka na Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Enda rero nyabuna nimusenge Imana Imwe Rudende Allah mutayibangikanya na kimwe mu biremwa, muheze mwikingire ibihano vyayo mu kuyigamburukira, ivyo ni vyo vyiza gusumba kuri mwebwe nimwaba muzi ivyobagirira akamaro;"},{"id":17,"translation":"Bantu! Ni ukuri ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibigirwamana murementanya ko ari imana. Mu vy’ukuri, ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kubaronsa ibibabeshaho, nimusabe rero Imana Allah ibibabeshaho ha gusaba ibigirwamana, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, munayishimire ko Ibaronsa ibibabeshaho, ni kuri Yo rero muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe ivyo mwakoze”."},{"id":18,"translation":"Bantu! Muramutse muhakanye mwivuye inyuma Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku mvo z'uko ibararikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri n’imigwi y’abantu bo hambere yanyu, yarahakanye yivuye inyuma Intumwa yarungikiwe, maze irabihanirwa. Burya, nta kindi Intumwa ijejwe na canecane atari ugushikiriza ubutumwa mu buryo butomoye, kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarabigize."},{"id":19,"translation":"Mbega ababangikanyamana, ntibazi ukuntu Imana Allah Irema ikiremwa ata co Ifatiyeko, hanyuma Igasubira kukirema bushasha kandi caramaze guhona! Iryo remwa bushasha rero ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kurusha iremwa ryaco ata co Ifatiyeko."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana izurwa ry’ibiremwa, uti: “Nimugendagende kw’isi, maze mwirabire ukuntu Imana Allah Yaremye ibiremwa bitari bwabeho ata co Irinze gufatirako, hanyuma mumenye ko Ishoboye no kubirema kandi bushasha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, nta co Ishaka ngo kiyinanire”."},{"id":21,"translation":"Imana Allah, Ihana uwo Ishatse mu biremwa, Ikamuhanira ivyo yakoze kw’isi; Ikanagirira impuhwe uwo Ishatse mu bigaye bakemera, bakanakora n’ivyiza bitegetswe. Bantu! Ni no kuri Yo rero muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze;"},{"id":22,"translation":"Kandi nimutumvira Imana Allah, ntimuzoyinanira haba kw’isi canke mw’ijuru; nta n’umwe rero mworonka atari Imana Allah, yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo;"},{"id":23,"translation":"Abagararije Imana Allah bagahakana n’ivyemezo vyayo, n’uko bazohura na Yo ku musi w’izuka, abo nibamara kubona ibihano bibarindiriye, bazokwihebura mu kutaziga kuronka impuhwe zanje Jewe Allah. Abo, ni na bo rero bategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":24,"translation":"Nta n’inyishu yatanzwe n’abantu ba Ibrahimu atari ukubwirana hagati yabo bati: “Ibrahimu nimumwice canke mumuturire”. Ni ho rero baheza bakamuta mu nkonge y’umuriro[3], maze Imana Allah Iramurokora muri nya nkonge, umuriro wayo ntiwamuturira mu kiringo cose yawumazemwo. Mu vy’ukuri mw’irokorwa rya Ibrahimu muri nya nkonge, ni ukuri harimwo ivyemezo vy’ubushobozi n'ububasha vyayo ku bantu bemera bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.","footnotes":"[3] Igicaniro amahanga"},{"id":25,"translation":"Ibrahimu yabwiye abantu biwe ati: “Ni ukuri, ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibigirwamana mwigiriye mwebwe nyene, muraheza mukunda kuvyitwararika no kubisenga mu buzima bwo kw’isi, hanyuma ku musi w’izuka bamwe muri mwebwe bazokwihakana abandi, maze basabiranire n’imivumo; ubushikiro bwanyu mwese rero, ni mu muriro, ntimuzonaronka n’uwubatabara ngo ntimuwinjire”;"},{"id":26,"translation":"Ni ho rero Luutwi yemera Ibrahimu akamukurikira. Ibrahimu ni ho yavuga ati: “Mu vy’ukuri jewe, ngira nimukire mu gihugu ca Shaamu[4] ku bw’Imana yanje Rurema Allah; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”.","footnotes":"[4] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi."},{"id":27,"translation":"Twaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka, Twongera Tumuha umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Twaranagize mu ruvyaro rwiwe Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Ku kubera igeragezwa ryamushikiye mu gushikiriza ubutumwa rero, Twamuhaye n’indishi yo kuronswa uruvyaro rweranda no kuyagwa neza n’abantu kw’isi, mu vy’ukuri no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda."},{"id":28,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luutwi yabwira abantu biwe ati: “Murakenyeye mukore icaha c’agahomerabunwa kitigeze gikorwa aho hambere yanyu n’umuntu n’umwe mu biremwa!"},{"id":29,"translation":"Ubwo ni ukuri karashize ingani, mwubahuke kurangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukanategerera abantu ku nzira kugira mubambure utwabo, mwongera mubafata ku nguvu, mukanabakorera ibibi vy’agahomerabunwa mu gihe muri ku buteramo bwanyu, mu kubangamira abarengana mubandagaza, mubatera n’amabuye!\". Nta n’inyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi atari ukuvuga bati: “Enda nyabuna rero, tuzanire ibihano vy’Imana Allah Yakurungitse niwaba koko uri mu mvugakuri”."},{"id":30,"translation":"Luutwi yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana janje Rurema Allah! Ntabara Uheze Uhane abantu bagenzwa n’ubwononyi bw’agahomerabunwa”. Imana Allah Iraheza Iramwumvira."},{"id":31,"translation":"Igihe rero Intumwa zacu z’abamalayika zaca kwa Ibrahimu, zimuzaniye inkuru nziza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Is-haka, azoheza akamuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, zamubwiye ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe twaje guhonya agacimbiri ka Saduma k’abantu ba Luutwi; mu vy’ukuri abantu bo muri nya gacimbiri, bari birenganije mu gukora icaha c’agahomerabunwa”;"},{"id":32,"translation":"Ibrahimu yabwiye nya bamalayika ati: “Mu vy’ukuri, muri ako gacimbiri hariyo Luutwi atari mu birenganije!”. Nya bamalayika bamwishura bati: “Twebwe turazi neza abari muri ko; ni ukuri, dutegerezwa kumurokora we hamwe n’umuryango wiwe, kiretse umugore wiwe aza guhanwa mu bandi”."},{"id":33,"translation":"Igihe rero intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika zashika kwa Luutwi, Luutwi yaragize impungenge ku muzo wazo, kuko yibaza ko ari ingenzi, agatinya ko abantu biwe bozishirako isoni. Za ntumwa z’abamalayika zimaze kwidondora no kumenyesha ikizigenza, zabwiye Luutwi ziti: “Tekana, ntugire ubwoba namba; abantu bawe ntibashobora kwegera n’aho turi, kandi ntiwicwe n’intuntu kw’ihonywa ry’abantu bawe, mu vy’ukuri turakurokora mu bihano wewe hamwe n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe aza guhanwa mu bandi;"},{"id":34,"translation":"Mu vy’ukuri, duhava tumanurira abantu bo muri kano gacimbiri, ibihano bizananye hejuru ku kubera ubugaba bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bagakora icaha c’agahomerabunwa”."},{"id":35,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarasigaje mu mihana y’abantu ba Luutwi, icemezo kigaragara cotuma abantu b’abanyabwenge batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakikebuka, bagaheza bakayigamburukira."},{"id":36,"translation":"Twaranarungikiye abantu bo muri Madiyana mwenewabo Shu’ayibu, arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, (nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo) muheze mwizere indishi yo ku musi w’iherezo, kandi ntimukagenzwe no gukwiragiza ubwononyi n’ubugaba kw’isi”."},{"id":37,"translation":"Maze abantu bo muri Madiyana barahakana bivuye inyuma Intumwa Shu’ayibu, nyamugigima y’akataraboneka ica irabajegeza, maze buca mu mihana yabo ari ibiziga vyibereye aho."},{"id":38,"translation":"Twaranahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi. Ni ukuri, mwaranamenye ukuntu imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, shetani ikaba yari yaranabaryohereje gukora ibikorwa bibi, ikanababuzagiza no gukurikira inzira yo kwemera Imana Allah n’Intumwa zayo. Bari baranibona ko bari mu kuri kandi bari mu buhuvyi."},{"id":39,"translation":"Twaranahoneje Qaaruuni na Firawuni hamwe na Haamaani. Abo bose rero, ni ukuri Musa yarabazaniye ivyemezo bigaragara, baca bagira amanyama mu kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, ntibari no gucaruka ngo baducike."},{"id":40,"translation":"Umwe wese muri abo Tudondaguye rero, Twamuhaniye icaha ciwe ku gatwe kiwe; muri bo harimwo abantu ba Luutwi Twahanishije igihuhusi c’amabuye y’urutavanako maze kirabahitana; hakabamwo n’abantu ba Swalehe n’abantu ba Shu’ayibu bahitanwe n’akaruru gahonya gaturutse hejuru; hakabamwo na Qaaruuni Twafuririye mu kuzimu; harimwo rero n’abantu ba Nuhu hamwe na Firawuni n’abantu biwe Twasomesheje nturi. Imana Allah, ntiyari kubarenganya ngo Ibahanire ivyaha vyakozwe n’abandi; ariko rero, ni uko bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah ha kuyisenga ari Imwe Rudende kandi ari Yo Ibabeshejeho."},{"id":41,"translation":"Akarorero k’abantu bigiriye ibigirwamana abahagarikizi babakingira mu gishingo c’Imana Allah, ni nk’ak’igitangurirwa cubatse inzu ngo igikingire, hanyuma ntiyagira ico ikimariye. Burya, inzu ata co yokingira nyene yo, ni inzu y’igitangurirwa. Iyo rero bamenya ko ibigirwamana ata co bibamariye, ntibari kubigira abahagarikizi."},{"id":42,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ko ivyo bayibangikanya ata na kimwe vyimariye nkeswe kugira ico bibamariye; ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":43,"translation":"Ubu burorero rero, ni agace Twebwe Allah Ducira abantu kugira bikebuke, ariko rero nta n’ababutahura ngo banyurwe kiretse abazi Imana Allah, batahura ivyemezo n’amabwirizwa vyayo."},{"id":44,"translation":"Imana Allah, Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri muri iryo remwa ry’amajuru n’isi, ni ukuri harimwo icemezo ku bemeramana, cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah n’ubumana bwayo."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani uheze ubigendere; utsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo; mu vy’ukuri, itsimbatazwa ry’isengesho rikwije ibisabwa, rikingira umuntu kugwa mu bicumuro n’ivyaha[5]; ni ukuri, itazira n’ininahazamana mw’isengesho no mu bindi bihe, rirahambaye cane gusumba vyose. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora; vyaba vyiza canke bibi, Izobibahembera.","footnotes":"[5] Kuko isengesho rikwije ibisabwa risengewe ku mwanya waryo, ryeza umutima, rikongerereza umuntu ukwemera no guhurumbira ivyiza."},{"id":46,"translation":"Bemeramana! Ntimugaharire n’abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara ku bijanye no kwemera, kiretse mukoresheje amajambo abereye n’impanuro nziza vyotuma bahurumbira ukuri, maze mugahanahana mu rupfasoni. Ariko ku birenganije muri bo mu guhonyanga ukuri bakabarwanya, abo muraheza mubivune mwivuye inyuma, mubarwanye canke batange ku nabi ku neza ikori basuzuguritse. Murababwira muti: “Twaremeye Qor’ani twamanuriwe, twemera na Tawurati n’Injili mwamanuriwe, Imana yacu n’Imana yanyu rero, ni Imwe Rurende Allah Itabangikanywa na kimwe mu bumana bwayo, mu bubungabunzi bw’ibiremwa, mu mazina hamwe n’amatazirano yayo, kandi na twe turicishije bugufi kuri Yo, turi abislamu”."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twamanuriye Intumwa zo hambere yawe Ibitabu - Twakumanuriye iki Gitabu ca Qor’ani gishimangira ukuri kuri muri vyo. Abo rero Twahaye Igitabu muri Bene Israyeli bakagitahura ukuri kwamye, baremera Qor’ani; no muri aba Barabu b’Abakorayishi no mu bandi bantu, harimwo abayemera; nta n’uwuhakana Qor’ani yivuye inyuma canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abagarariji ruhebwa."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! No mu vyemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ni uko utigeze usoma igitabu canke ngo wandikishe iminwe yawe n’urudome na rumwe imbere yuko uhishurirwa Qor’ani. Iyo biba bitari ukwo, abahakanyi bari guheza bakagira amakenga ko Qor’ani wayize canke wayabuye mu Bitabu vyo hambere yawe."},{"id":49,"translation":"Ahubwo rero Qor’ani, ni Aayah zitomoye zigaragaza ukuri, ziri mu mishaha y’abahawe ubumenyi, nta n’uwuhakana Qor’ani canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abirenganije mu guhonyanga ukuri kandi bakuzi."},{"id":50,"translation":"Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Mbega uyo Muhamadi, ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni ukuri, ubushobozi n’igihe co kumanurirako ibitangaro, ni ivy’Imana Allah. Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye gusa ku bihano vyayo”."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Burya ababangikanyamana ku kuntu bakuzi ko uri imvugakuri, bari bakwiye kwemera mu vy’ukuri, ko Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani ubasomera! Mu vy’ukuri muri iyi Qor’ani harimwo impuhwe ku bemeramana, mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; harimwo n’urwibutso rutuma bama bagavye."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe ko ndi Intumwa vy’ukuri, n’uko muhakana ku kugarariza gusa; Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, nta na kimwe muri vyo kiyinyegeje”. Abemeye rero ikinyoma bakagarariza Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana bihutira gusaba ku gutebura ko wobasabira ibihano. Iyo Imana Allah Itagena isango ntarengwa ryo kubahana kw’isi, bari gushikirwa n’ivyo bihano bisabira. Ni ukuri, ivyo bihano bizobashikira giturumbuka ata n’ivyo biteguriye."},{"id":54,"translation":"Bihutira gusaba ko wobasabira ibihano bagahanwa bakiri kw’isi. Ntibarinde guhogora, bitebe bitebuke, ivyo bihano bitegerezwa kubashikira, haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Mu vy’ukuri ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, ni ukuri bizokikuza abagarariji ata buhungiro;"},{"id":55,"translation":"Umusi bahwikiwe n’ibihano muri nya muriro ku mpande zose, maze ukabanyengetera guhera ku mutwe gushika musi y’ibirenge, Imana Allah Izobabwira Iti: “Nimuhonje rero indishi y’ivyo mwari mwarakoze kw’isi”."},{"id":56,"translation":"Emwe baja banje bemeye! Nimutaronka isaganirizo ryo kurarikira ukwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, muraheza mwimukire ahandi mwokworoherwa kubikora, kuko mu vy’ukuri isi yanje iragutse, muheze rero munyiyegereze mwisanzuye mu kunsenga Ndi Imana Imwe Rudende mutambangikanya."},{"id":57,"translation":"Zina-kiremwa cose gifise ubuzima, kizohonja urupfu; hanyuma muheze musubizwe iwacu Twebwe Allah, kugira muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":58,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri Tuzobaha ikaze mu Bwami bw’ijuru mu vyumba vy’iteka, musi yavyo hatemba inzuzi, bazobibamwo ibihe bidahera. Iyo rero, ni yo ndishi nziza ibereye abagamburukiramana;"},{"id":59,"translation":"Abihanganiye gusenga Imana Allah bagatsimbatara ku kwemera kwabo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera mu kurondera ibibabeshaho, no mu guharanira idini ryayo."},{"id":60,"translation":"Hari ibiremwa vyinshi bigendagenda kw’isi, bidashoboye kwiziganiriza ibibibeshaho nk’uko mwene Adamu abigenza, Imana Allah Igaheza Ikabibeshaho nka kurya nyene Ibabeshejeho; ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana."},{"id":61,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwabaza ababangikanyamana uti: “Ni nde Yaremye amajuru n’isi Akabiringaniza, Akagira izuba n’ukwezi ku neza y’ibiremwa?”. Bazokwishura ata guhigimanga bavuga bati: “Ni Imana Allah Yabiremye”. None ni gute bayibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":62,"translation":"Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ikintu cose mukoze Irakizi, ni Nyenubumenyikurivyose, Izobibahembera."},{"id":63,"translation":"Niwanababaza kandi uti: “Ni nde Yatumye imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Akanagisha ibiterwa n'ivyimeza kw'isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y'igaduka no gucika ubukumbagare kw'isi?\". Bazokwishura ata guhigimanga bati: “Ni Imana Allah Yabigize”. Ntumwa y’Imana! Vuga rero uti: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Igaragaza ivyemezo bituma ababangikanyamana ubwanwa bupfuka umunwa”; ahubwo rero, abenshi muri bo ntibatahura inkurikizi z’ibangikanyamana, ngo baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya."},{"id":64,"translation":"Ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi, kiretse ko ari ubusamazi n’ubufyinyi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Mu vy’ukuri ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri ni bwo bwamaho, ntibwigera bushira. Iyo rero abantu bamenya ivyo, ntibari kwigura ubuzima bwo kw’isi, ahubwo bari guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":65,"translation":"Iyo abagarariji bari mu bwato buri mw’ibahari, bagaterwa n’imikuba bagatinya gutwarwa, baca biyegereza Imana Allah bakayisaba Yo Yonyene ko Ibarokora; Imaze rero kubarokora bagashika imusozi amahoro, baca basubira kuyibangikanya;"},{"id":66,"translation":"Gutyo inyuma y’iryo rokorwa, bakagarariza mu kwihakana bivuye inyuma inema Twebwe Allah Twabahaye, bakaryoherwa n’ivy’isi. Bitebe bitebuke, bazomenya ko ibikorwa vyabo vyabaye impfagusa, igihe babonye ibihano bategekanirijwe ku musi w’izuka."},{"id":67,"translation":"Mbega abagarariji b’i Makka ntibabonye ko Twebwe Allah, Twabagiriye igisagara ca Makka kuba ahantu hatagatifu hatekanye; kizira ko hagira uwuhicirwa canke ngo ahamburirwe utwiwe, mu gihe abantu baba mu turere dukikuje ico gisagara badatekaniwe, kuko bamburwa utwabo bakanicwa izuba riva, ata camira! Karashize ingani rero hamwe n’iteka n’itekane bahawe n’Imana Allah, bemere ibangikanyamana, bihakane bivuye inyuma inema Yabahaye mu kutayemera ngo bayisenge ari Imwe Rudende!"},{"id":68,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji."},{"id":69,"translation":"Abemeramana baduharaniye Twebwe Allah mu guhangana n’abansi bacu, bakarwanya ivyipfuzo vyabo, bakirinda n’inyoshambi za shetani, bagaheza bakihanganira n’igeragezwa mu buzima bwabo, maze ivyo vyose bakabigira ku bwacu Twebwe Allah, nta nkeka ko Tuzobarongora mu nzira yo gukora ivyiza, Tunabatsimbataze ku kuri. Burya Imana Allah, ni ukuri Yamye Iri kumwe n’abagwaneza mu kubabungabunga, mu kubarongora, mu kubatabara no mu kubatera intege."}]},{"id":30,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Abafursi baranesheje Abaromani mu rugamba rwabahuje;"},{"id":3,"translation":"Urugamba rwabereye muri Shaamu ahegereye igihugu c’Abafursi. Bitebe bitebuke rero, Abaromani bazonesha Abafursi;"},{"id":4,"translation":"Mu kiringo kiri hagati y’imyaka itatu n’imyaka cumi. Ubushobozi bw’ishirwa mu ngiro bw’ingingo yose, ni ubw’Imana Allah, haba imbere y’intsinzi y’Abaromani canke inyuma y’aho. Umusi rero Abaromani banesheje Abafursi, abemeramana akamwemwe kazobasya;"},{"id":5,"translation":"Kubera iyo ntsinzi Imana Allah Yahaye Abaromani bakanesha Abafursi. Burya Imana Allah, Itabara uwo Ishatse agatsinda, Igatetereza uwo Ishatse agatsindwa; ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo[2].","footnotes":"[2] Ivyo rero vyabaye haciye ikiringo c’imyaka indwi kuva aho Abaromani banesherejwe n’Abafursi, maze Abaromani baranesha Abafursi, abislamu na bo baraheza banezerezwa n’iyo ntsinzi y’Abaromani kuko bari mu bahawe Igitabu, n’aho vyashitse bakagihindagura."},{"id":6,"translation":"Ni isezerano Imana Allah Yahaye abemeramana, ko Abaromani b’abanaswara bazonesha Abafursi b’ababangikanyamana, kandi Imana Allah ntiyivuguruza kw’isezerano; ariko rero abenshi mu bagarariji b’i Makka, ntibazi ko isezerano ry’Imana Allah ari ukuri;"},{"id":7,"translation":"Bazi gusa ivyo babona n’amaso mu buzima bwo kw’isi, nayo ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibanabwiyumvira, baragoswe pe!"},{"id":8,"translation":"Mbega abahakana bivuye inyuma Intumwa z’Imana, bakanahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana Allah, ntibiyumvira kw’iremwa ryabo! Burya Imana Allah, ntiyaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Yabiremye mu kuri ku gushinga ingingo y’indishi ku ciza canke ku kibi, ingingo ishingiye ku butungane bw’Imana Imwe Rurema Allah, no kugira habe isango ntarengwa ry’umuzo w’umusi w’umuhero w’isi! Mu vy’ukuri abenshi mu bantu, baragarariza ku bujuju, bagahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah."},{"id":9,"translation":"Mbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze[3]! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;","footnotes":"[3] Nka Bene Aadi na Bene Thamuudi."},{"id":10,"translation":"Hanyuma iherezo ry’inkozi z’ikibi mu bagarariji, ryabaye ribi cane ku kubera ukuntu bahakana bivuye inyuma Imana Allah na Aayah zayo Yarungikanye Intumwa, baranaziteburako."},{"id":11,"translation":"Imana Allah, ni Yo ubwayo Yatanguye kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, ni na Yo Izoshobora no gusubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona; hanyuma rero, ni no kuri Yo muzosubizwa kugira muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":12,"translation":"N'igihe umuhero w’isi wageze, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazokwihebura ko batarokoka mu bihano, maze bijirirwe."},{"id":13,"translation":"Ababangikanyamana kuri uwo musi rero, ntibazoronka ababavugira mu bigirwamana bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, mbere na nya bigirwamana bizobigarama na bo nyene bavyihakane."},{"id":14,"translation":"Igihe rero umuhero w’isi wageze, maze abantu bagaharurirwa ivyo bakoze, kuri uwo musi abemeramana bazoshirwa ukwabo, abagarariji na bo nyene bashirwe ukwabo;"},{"id":15,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazoja mu Bwami bw’ijuru, baheze bazimanwe ivy’akaroruhore."},{"id":16,"translation":"Nayo abagararije Imana Allah bagahakana bivuye inyuma ivyo bazaniwe n’Intumwa, bakanamirira kure ko bazohura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo bazoheza bashirwe mu bihano vyamaho."},{"id":17,"translation":"Bemeramana! Nimutazire mwongere muninahaze Imana Allah[4] umugoroba n’igitondo; mw’isengesho ryo ku kirengazuba n’iryo ku mugoroba, hamwe rero no mw’isengesho ryo mu mutwenzi.","footnotes":"[4] Itigeze Igira ikintu na kimwe kibangikanije na Yo, Itigeneye umugore canke umwana."},{"id":18,"translation":"Ni na Yo Nyenishimagizwa mu majuru no kw’isi, ijoro n’umurango."},{"id":19,"translation":"Imana Allah Irema kizima mu capfuye[5], Igakura icapfuye muri kizima[6], Igaheza Igatotahaza n’isi inyuma yo kugaduka. Bantu! Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Isubiza ubuzima ivyo - Izobasubiza ubuzima, maze mukazuka mukava mu kuzimu kugira muharurirwe ku vyo mwakoze.","footnotes":"[5] Nko kurema umuntu canke igikoko mu ntanga, no kurema inyoni mu rigi.\n[6] Nko kurema intanga mu muntu canke mu gikoko, no kurema irigi mu nyoni."},{"id":20,"translation":"Biri mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Yaremye mw’ivu inkomoko yanyu akaba na so wanyu Adamu, hanyuma murarondoka muba abantu baremwe mw’ima ry’intanga, muraheza murakwiragira kw’isi murondera icobabeshaho."},{"id":21,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Yarabaremeye abakenyezi mu nkomoko yanyu nyene ya kiremwa-muntu, kugira mugire ituze muri kumwe na bo, Iraheza Ishira hagati y’umugabo n’umukenyezi wiwe umutima w’impuhwe n’urukundo pfampfe. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah."},{"id":22,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kurema amajuru ahanitse ata nkingi ziyafashe; kurema isi yagutse ingana amahanga no kurema indimi n’amabara vyanyu bitandukanye. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’incabwenge bikebuka, maze bakamenya ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema."},{"id":23,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kubagirira ukuryama mw’ijoro kuba ari akaryo keza ko kuruhuka, no kubagirira umurango kuba ari akaryo ko kurondera icobabeshaho mu mpano zayo. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutunganiriza ibiremwa."},{"id":24,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Ibereka imiravyo mugaheza mugatinya gukubitwa n’inkuba, mukizera no kuronka akavura, Igatuma rero hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaheza Igatotahaza isi inyuma yo kugaduka hakoreshejwe amazi ya nya mvura. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’abanyabwenge bategera bakikebuka, maze bakamenya ububasha n’ubugwaneza vy’Imana Allah."},{"id":25,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba ijuru hamwe n’isi bibungabunzwe kw’itegeko ryayo[7], hanyuma niyabahamagara ku musi w’izuka, ubwo nyene mwese muzovunduruka muzuka muva mu kuzimu.","footnotes":"[7] Mu kuba isi idahungabanya abayibako, no mu kuba ijuru ritagwa kw’isi."},{"id":26,"translation":"Ni Yo Mugabe w’ibiremwa vyose, ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo[8], vyose biricisha bugufi bikubahiriza itegeko ryayo.","footnotes":"[8] Ibinyabuzima n’ibitari ibinyabuzima."},{"id":27,"translation":"Ni na Yo Yaremye ibiremwa ata co Irinze gufatirako, hanyuma Ikazosubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona. Iryo remwa bushasha ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kuruta iremwa ry’ikitari bwabeho. Ni Yo rero Iyagwa neza mu majuru no mw’isi mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kuko ntitangwako akarorero. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":28,"translation":"Babangikanyamana! Imana Allah Yarabaciriye agace Ifatiye kuri mwebwe nyene; mbega burya mwokwemera ko mugira mu bo mugaba mukaganza, abo musangira ivyo Twebwe Allah Twabaronkeje, maze mwese mukabigirako ububasha bungana, mugatinya abo mugaba mukaganza ko bobibaganzako nka kurya mutinya abigenga nkamwe ko bobibaganzako[9]! Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera ivyemezo vyacu abantu biyumvira bagaheza bagatahura icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.","footnotes":"[9] Nimwaba rero mutokwemera kunganya ububasha ku matungo yanyu n’abo mugaba mukaganza, vyoshoboka gute ko mubangikanya Imana Allah n’ibiremwa Igaba Ikaganza."},{"id":29,"translation":"Ahubwo rero abirenganije mw’ibangikanyamana, bakurikiye ivyipfuzo vyabo ata n’ubumenyi bafise ku kwigana ubuhuvyi bwa ba se. Burya, nta woshobora kurongora abo Imana Allah Yaretse bagahuba ku bugaba bwabo. Abo rero, ntibazoronka mw’isi yose uwubatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Tumbera Imana Allah, uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah. Ukwemera-ndemanwa, Imana Allah Yaremeye abantu, nta cohindura ukwemera-ndemanwa kw’Imana Allah, ni na ryo dini rigororotse rishimwa n’Imana Allah; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ico wategetswe gukurikira ko ari ryo dini ry’ukuri ry’Imana Allah."},{"id":31,"translation":"Muraheza rero mube abigaya kuri Yo, munayigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mutsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa, kandi ntimukabe mu babangikanyamana;"},{"id":32,"translation":"Mu biciyemwo utugwitugwi mw’idini ryabo, baraheza bubahiriza amwe mu mabwirizwa y’Imana Allah, bahakana bivuye inyuma ayandi bisunze ivyipfuzo vyabo, gutyo haduka utudumbidumbi twisunga ingingo z’abaturongoye, buri kagwi kose muri two kishimira ivyiyumviro vyako gusa."},{"id":33,"translation":"Iyo abantu bakozweko n’ivyago, baca basaba Imana yabo Rurema Allah bayitakambira ngo Ibibakureko; maze Yamara kubibakurako ku mpuhwe zayo, muri bo hakavamwo umugwi uca usubira kandi mw’ibangikanyamana;"},{"id":34,"translation":"Gutyo inyuma y’ikurwako rya nya vyago bakagarariza mu guhakana inema Twebwe Allah Twabahaye. Babangikanyamana! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye ibihano mutegekanirijwe ku musi w’izuka."},{"id":35,"translation":"Mbega none Twoba Twaramanuriye ababangikanyamana icemezo civugira kikerekana, ko igarariza n’ibangikanyamana vyabo vyemewe!"},{"id":36,"translation":"Iyo rero abantu Tubahonjeje ku mpuhwe zacu bakagira amahirwe mu buzima[10], baca banezerwa bakihambaza n’amanyama n’akantu, ha kudushimira. Iyo naho bashikiwe n’amagorwa mu buzima[11] biturutse ku vyaha vyabo, baca bihebura bagahungabana[12].","footnotes":"[10] Nko kugira amagara meza, kuronka ibibondo n’ibibabeshaho, n’ibindi.\n[11] Nko kurwara, gukena, gutekerwa n’ubwoba, n’ibindi.\n[12] Ukwo, ni ko abenshi mu bantu bateye mu gihe c’amahirwe no mu gihe c’amarushwa."},{"id":37,"translation":"Mbega ntibamenye ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[13], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze[14]! Mu vy’ukuri, muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibimubeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana, vyerekana impuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.","footnotes":"[13] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza mu kuyibangikanya.\n[14] ko yihangana akigumya akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu."},{"id":38,"translation":"Mwemeramana! Uritwararika rero incuti mu muryango mu kuyiha imperezwa no mu kwunga ubuvandimwe, n’ibindi; maze uhereze n’umukene atagira shinge na rugero n’uwakehaniwe ku rugendo, ikibakenura ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa. Ukwo gutanga ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa, ni vyo vyiza ku batanga barondera gushimwa n’Imana Allah, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":39,"translation":"Ingurane iyo ari yo yose mutanze mu ntumbero yo kuronka inyungu izira[15] yiyongera mu matungo y’abantu, ntizokwigera yiyongera namba ku Mana Allah, ahubwo izocika agahombo n’ivumwe. Nayo ico ari co cose mutanze kw’ishikanwa-bwirizwa no ku mperezwa, mukagihereza abakigenewe murondera gushimwa n’Imana Allah, Imana Allah Izokibakirira. Abatanga rero muri ubwo buryo, ni bo bazogwirizwa indishi ku Mana Allah.","footnotes":"[15] Inyungu izira ni riba"},{"id":40,"translation":"Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye, hanyuma Ibaronsa ibibabeshaho kw’isi, hanyuma ikiringo canyu co kubaho giheze Irabica, mu nyuma Izobazura Ibahe ubuzima ku musi w’izuka, kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mbega none mu bigirwamana musenga, hoba harimwo igishoboye kubagirira na kimwe muri ivyo! Nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya."},{"id":41,"translation":"Ubwononyi bwibonekeje kw’isi[16]; imusozi no mw’ibahari, buturutse ku vyaha bikorwa n’abantu, butuma Imana Allah Ibahanira kw’isi bimwe mu vyo bakoze kugira bikebuke bigaye, baheze baroranirwe kw’isi.","footnotes":"[16] Nk’igwirirana ry’indwara, itara ry’imvura n’ihindagurika ry’ibihe vyayo, amapfa n’ibiza vy’indwara z’akaranda zifata abantu, ibitungwa n’ibiterwa, n’ibindi."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma ukuri wabazaniye uti: “Nimugendagende kw’isi maze mwirabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yanyu; nk’abantu ba Nuhu, Bene Aadi na Bene Thamuudi, ryagenze! Iherezo ryabo ryari ribi cane kuko abenshi muri bo bari ababangikanyamana”."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare kwubahiriza idini ry’ubwislamu rigororotse imbere yuko umusi w’umuhero w’isi ushika, umusi ata n’umwe mu biremwa ashoboye guhagarika umuzo wawo. Kuri uwo musi rero, ibiremwa bizoshwiragira mu migwimigwi kugira vyerekwe ibikorwa vyavyo."},{"id":44,"translation":"Abagararije bazohanirwa ubugarariji bwabo mu muriro udahera. Abakoze ivyiza bitegetswe na bo, bazobihemberwa Ubwami bw’ijuru kuko biteguriye ibibubashikanamwo;"},{"id":45,"translation":"Kugira Imana Allah Ihembe ku bugwaneza bwayo abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagarariji."},{"id":46,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bigatuma Isengwa Itabangikanywa, kuba Ishoboye kurungika umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa; kugira Ibahonje ku mpuhwe zayo mu gutuma imvura igwa, isi n’ibiremwa bikaharonkera akoyokwe; no kugira ubwato bushobore kugendera mw’ibahari ku bushobozi bwayo; no kugira murondere ku mpuhwe zayo ibibabeshaho mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa. Ivyo vyose rero, Imana Allah Yabibagiriye kugira mushime inema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse hambere yawe Intumwa ku bantu bazo, maze ziza zibazaniye ivyemezo bigaragara, abenshi muri bo barabigarariza, Duca Twihora abanyavyaha muri bo barenze ku mabwirizwa yacu, Turabahana Turabahonya, Turaheza Turokora muri nya bihano abemeramana bakurikiye nya Ntumwa, kandi Twategerezwa kurokora abemeramana."},{"id":48,"translation":"Imana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugasunika ibicu vy’imvura, Igaheza Ikabisanza mu kirere uko Ibishaka, maze Ikavyegeranya mu bicebice ahatandukanye, ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Imana Allah rero Irungikira nya mvura abo Ishatse mu baja bayo, bagaca banezerwa n’akamwemwe kenshi ko bagiye kubukura mu cibo;"},{"id":49,"translation":"Kandi mu vy’ukuri imbere yuko nya mvura igwa, bari bihebuye kuko imvura yari yataze."},{"id":50,"translation":"Muntu! Ehe raba rero ingaruka nziza z’imvura igwa ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyatsi bimera, ku biterwa no ku biti, aho isi iheza igatotahara inyuma y’aho yari yaragadutse ikaba ubukumbagare! Mu vy’ukuri rero Imana Allah Ishoboye gusubiza itoto isi yari yaragadutse, ni ukuri Irashoboye gusubiza n’abapfuye ubuzima bakazuka, ni na Yo Mushoboravyose."},{"id":51,"translation":"N’iyo Tworamuka Turungikiye ibiterwa vyabo umuyaga w’igihuhusi ukavyonona, maze bakabona ko nya biterwa vyahishiye inyuma y’aho vyasa n’urwatsi rubisi, ni ukuri n’inyuma y’ivyo vyose, boguma bihakana inema z’Imana Allah."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ntushobora gutuma ibipfamutima bitanyurwa vyumva ukuri bikagukurikira; eka ntushobora no gutuma ibipfamatwi vyumva ubutumwa bikabutegera mu gihe bigenjeje umugongo bikwirengagiza[17];","footnotes":"[17] Ntumwa y’Imama! Ntugatuntuzwe rero n’ukubona ababangikanyamana batakwemera ngo bagukurikire, kuko bo ni nk’ibiragi ntibumva; ni nk’abapfuye, ntibanyurwa namba n’aho boba bari hambavu yawe, nkeswe rero mu gihe baguhunga ngo ntibumve n’ubutumwa ubashikiriza."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Eka ntunashobora no kurongora mu nzira y’ukuri abo Imana Allah Yahubishije mu kutabashoboza kubona ukuri, maze bagahuba ku bugaba bwabo. Burya ushoboye kwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani, bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye."},{"id":54,"translation":"Imana Allah ni Yo Yabaremye mw’ima ry’intanga zigayitse, inyuma y’intege nke zo mu bwana, Ibaha n’inguvu zo mu bukuru; mu nyuma y’aho, Ibaha intege nke n’imvi mu busaza. Burya Imana Allah, Irema uko Ishatse mu gutanga intege nke canke mu gutanga inguvu; ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiremwa vyayo, ni Mushoboravyose."},{"id":55,"translation":"Umusi rero umuhero w’isi wageze, hanyuma Imana Allah Ikazura abapfuye bose, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo, bazorahira barengwe ko batigeze baba kw’isi kiretse akanya isase. Bazoheza rero barahire babesha nk’uko bahora babesha kw’isi mu guhakana ukuri bashikirijwe n’Intumwa."},{"id":56,"translation":"Nayo abahawe ubumenyi n’ukwemera Imana Allah, mu bamalayika, mu Ntumwa no mu bemeramana, bazoheza bavuge bati: “Ni ukuri, mwabaye kw’isi ikiringo mwandikiwe mu Gitabu c’ivyagezwe ku Mana Allah kuva muremwa, gushika kuri uno musi w’izurwa ry’ibiremwa, ariko rero mukiri kw’isi ntimwari muzi ko uno musi uzobashikira, maze murawuhakana”."},{"id":57,"translation":"Kuri uwo musi w’izuka rero, abirenganije, ivyireguzo vyabo nta co bizobamarira, eka ntibazonasabwa no gushimisha Imana Allah mu kwigaya."},{"id":58,"translation":"Ni ukuri, Twebwe Allah Twarahaye abantu muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye kandi butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakabugendera mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! N’aho wobazanira icemezo kingana gute coza cerekana ko uri mu kuri koko, ni ukuri abakugararije bovuga bati: “Mwebwe nta co muvuga atari irementanya gusa”."},{"id":59,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Itera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abatazi ukuri kw’ivyo wabazaniye bivuye ku Mana yawe Allah."},{"id":60,"translation":"Ihanganire rero ihakana n’ibangamira ry’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, isezerano wahawe n’Imana Allah ryo gushika ku ntsinzi no guhabwa indishi, ni iry’ukuri. Abatemera umuhero w’isi ngo bizere ko bazohemberwa ivyo bakoze, ntibazogutiriganishe namba kw’idini ryawe."}]},{"id":31,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani Nakumanuriye Ntumwa y’Imana, gitomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa."},{"id":3,"translation":"Izi Aayah za Qor’ani, ni uburongozi n’impuhwe ku bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakagendera n’imigenzo y’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":4,"translation":"Abatsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakemera n’uko hari izurwa n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":5,"translation":"Abo, ni bo rero bari mu bugororotsi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, ni na bo baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":6,"translation":"Burya mu bantu, harimwo uwutanga uburyo mu kugura amajambo y’ibihendamaso bisamaza[2], kugira ahubishe abantu inzira y’uburongozi bw’Imana Allah, akagira na Aayah zayo kuba itebura. Uyo rero, ari mu bategekanirijwe ibihano bisuzuguza;","footnotes":"[2] Ibihendamaso bisamaza, ni ikintu ico ari cose gisamaza umuntu mu kutitwararika ibikorwa vy’igamburukiramana."},{"id":7,"translation":"Iyo asomewe Aayah za Qor’ani arazirengagiza n’amanyama n’akantu, akagenza umugongo, akica amatwi nk’uwutazumva, ukamengo yarazivye amatwi. Ntumwa y’Imana! Umuntu nk’uyo, uramushikiriza inkuru y’incamugongo, ko yagenewe ibihano bibabaza ku musi w’izuka."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, barategekanirijwe Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema;"},{"id":9,"translation":"Bazobubamwo. Iryo ni isezerano ry’Imana Allah ry’ukuri, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":10,"translation":"Yaremye amajuru Irayahanika ata nkingi mubona ziyafashe, Iraheza Ishira mw’isi imisozi iyishigikiye kugira ntibazungagize ngo munanirwe kuyibako, maze Ikwiragiza kuri yo amoko y’ibiremwa bigendagenda, gutyo Twebwe Allah Dutuma n’imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, Turaheza Tunagisha kw’isi ubwoko bwose bw’ivyimeza n’ibiterwa ngirakamaro biryoheye ijisho."},{"id":11,"translation":"Ehe nimurabe rero ivyaremwe n’Imana Allah! Babangikanyamana! Enda nyabuna rero, nimunyereke ivyaremwe n’ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah! Ahubwo abirenganije mw’ibangikanyamana, bari mu buhuvyi bugaragara buri kure cane y’ukuri."},{"id":12,"translation":"Ni ukuri, Twarahaye umuja mweranda Luqmaani, ubutore bwo gutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, Turaheza Tumubwira Duti: “Shimira Imana Allah ku nema Yaguhaye”. Uwushimiye rero Imana Allah ku nema Yamuhaye, aba ashimye ku neza yiwe. Nayo uwugararije mu guhakana yivuye inyuma inema zayo, ni ukuri Imana Allah ni Uwikenuye, Yikenuye muri vyose nta co Ikeneye ku biremwa; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luqmaani yahanura umuhungu wiwe akamubwira ati: “Mwananje! Ntukabangikanye Imana Allah ngo wirenganye, mu vy’ukuri ibangikanyamana, ni akarenganyo n’icaha rutura”."},{"id":14,"translation":"Twebwe Allah, Twabwirije umuntu kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe. Akwiye kwibuka ko nyina yasamye imbanyi yiwe mu muruho ku wundi, araheza atwara nya mbanyi, aramuvyara, aramwonsa gushika amucukije kw’ibere mu kiringo c’imyaka ibiri; amaze gukura, Tumubwiriza Duti: “Shimira rero Imana Allah, uheze ushimire n’abavyeyi bawe, iherezo ryanyu mwese ni iwanje Jewe Allah, kugira mpembere umwe wese muri mwebwe ico yakoze;"},{"id":15,"translation":"Muntu! Abavyeyi bawe rero, nibaguhatira kumbangikanya mu gusenga ivyo udafitiye ubumenyi canke gucumura, ntuzobumvire namba, uraheza rero ubane na bo kw’isi mu bugwaneza mu gihe ata caha kirimwo, maze ukurikire inzira y’uwigaya akagaruka kuri Jewe Allah; hanyuma muzosubizwa iwanje, Mpeze Ndababwire ivyo mwari mwarakoze kw’isi, maze Ndabibahembere”."},{"id":16,"translation":"Luqmaani yabandanije ahanura umuhungu wiwe ati: “Mwananje! Ikibi canke iciza ukoze, n’aho coba kingana n’urutete rw’ururo, kikaba kiri mw’ibuye riri mu musozi canke aho ari ho hose mu majuru canke mw’isi, menya ko Imana Allah Izokizana ku musi w’izuka maze Ikiguharurire. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, ni Muhetuziwavyose;"},{"id":17,"translation":"Mwananje! Tsimbataza isengesho rikwije ibisabwa, ubwirize gukora iciza, maze ubuze no gukora ikibi, uheze rero wihanganire ibigushikiye. Mu vy’ukuri izi mpanuro, ziri mu mabwirizwa ahambaye utegerezwa kwitwararika;"},{"id":18,"translation":"Ntukarabe hirya ngo wirengagize abantu n’amanyama mu gihe co kuganira na bo; kandi ntukagendere kw’isi n’ubwishime ku bantu. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba uwishima akirata ku bandi;"},{"id":19,"translation":"Uricisha bugufi mu gutambuka, nturenze ijwi abo muganira. Mu vy’ukuri, ijwi ribi ridakundwa na gato, ni ukuri ni ijwi ry’indogobwe yabira ikarenza urugezo”."},{"id":20,"translation":"Bantu! Mbega ntimubona ko Imana Allah Yaremye ku neza yanyu ibiri mu majuru[3] n’ibiri mw’isi[4], n’ibindi bitari ivyo, Iraheza Ibakwiragizako inema zayo; iziboneka[5] muri zo n’izitaboneka[6], n’izindi nema rero mutazi Yabategekanirije! Burya mu bantu, harimwo abaharira ku bijanye n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bagaharira mu ntumbero yo kugarariza ata n’ubumenyi canke icemezo bafise, ata n’uburongozi bw’Intumwa Twarungitse bisunze, eka ata n’Igitabu cerekana ukuri kw’ivyo bavuga.","footnotes":"[3] Nk’ukwezi, izuba, inyenyeri n’ibicu, n’ibindi.\n[4] Nk’amazi, ivyamwa, ibiti, ubutare, ibitungwa n’ibindi biremwa bigendagenda kw’isi.\n[5] Nk’amagara meza, amatungo, ibibondo, n’ibindi.\n[6] Nk’ubwenge n’ubukerebutsi, ubumenyi, ukwemera, n’ibindi."},{"id":21,"translation":"Iyo abaharira ku bijanye n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah babwiwe bati: “Enda nyabuna rero, nimukurikire ivyo Imana Allah Yamanuriye Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)”, baca bishura bati: “Ahubwo nyabuna dukurikira ivyo twasanze abavyeyi bacu bakora mu gusenga ibigirwamana”. Karashize ingani bakore ivyo, n’aho shetani yobaryosharyosha mu kibi, ibararikira kuja mu bihano vy’umuriro wama wegenyejwe!"},{"id":22,"translation":"Uwutumbera Imana Allah mu vyo akora vyose, akaba ari n’umugwaneza mu mvugo n’ingiro, ni ukuri azoba yafashe kw’ipfundo rimushikana ku gushimwa n’Imana Allah. Burya, iherezo ry’ibintu vyose riri ku Mana Allah, Izohembera umwumwe wese ico yakoze."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Uwagararije, igarariza ryiwe ntirikagutuntuze ku mutima, kuko wamaze gushikiriza ubutumwa butomoye, amaherezo y'abagarariji ku musi w’izuka, ni iwacu Twebwe Allah, Tuzoheza rero Tubabwire ivyo bakoze vyose, maze Tubibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibinyegejwe mu mishaha;"},{"id":24,"translation":"Twebwe Allah, Tuzoheza Tubahe kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, hanyuma ku musi w’izuka, Tubashorere mu bihano biremereye vyo mu muriro wa Jahannamu."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri bazokwishura bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibakwishura rero ukwo, uraca ubabwira uti: “Nihashimagizwe rero Imana Allah Igaragaje ukuri mu vyo mwivugiye”. Ahubwo rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi Imana Ikwiye gushimwa, ngo baheze bayisenge ari Imwe Rudende batayibangikanya."},{"id":26,"translation":"Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":27,"translation":"Ni ukuri, iyo ibiti vyose biri kw’isi bihinduka ikaramu, amazi y’amabahari yose hiyongeyeko n’ayandi mabahari indwi, yose agacika irangi, maze bikandika amajambo y’Imana Allah yerekeye ubumenyi n’ingingo vyayo, ivyo Ihishurira abamalayika n’Intumwa zayo; nya karamu zovungaguritse, na nya mazi y’amabahari yose yokamye imbere yuko amajambo y’Imana Allah ahera kwandikwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[7].","footnotes":"[7] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ivuga Igatomora amajambo mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."},{"id":28,"translation":"Bantu! Iremwa ryanyu, eka n’izurwa ryanyu ku musi w’izuka, bizoba mu kanya isase kandi vyoroshe cane; nk’iremwa ry’umuntu umwe n’izurwa ryiwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera."},{"id":29,"translation":"Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; n’uko Yabagiriye izuba n’ukwezi mwikorako, kimwe cose muri vyo kigaca mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe; n’uko Imana Allah Izi neza ivyo mukora vyose, ari Muhetuziwavyose!"},{"id":30,"translation":"Ivyo vyose rero, bikerekana ubushobozi bw’Imana Allah kugira mumenye ko ari Yo Nyakuri[8]; n’uko ivyo musenga mu gishingo cayo ari irementanya; n’uko Imana Allah ari Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa.","footnotes":"[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina no mu matazirano yayo, kibure mu bumana bwayo."},{"id":31,"translation":"Mbega muntu wihweza ibintu n’ibindi! Ntiwabonye ko ubwato amahanga bugendera mw’ibahari ku bugwaneza bw’Imana Allah Igirira ibiremwa, kugira Ibereke mu vyemezo vyayo ivyotuma mwikebuka! Mu vy’ukuri, mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku wihanganira igamburukiramana, agashima n’inema zayo."},{"id":32,"translation":"Iyo ababangikanyamana bari ku rugendo mu bwato, bakugarizwa n’imikuba ingana umusozi ivuye hirya no hino, igipfungu na co hejuru yabo ari nk’ibicu, maze bagatinya gutwarwa, muri ico gihe baca bambaza Imana Imwe Rudende Allah, beza n’idini ryayo ngo Ibarokore. Imana Allah Iramutse Ibumviye, Ikabakura muri nya kaga, bagashika imusozi amahoro, ubona muri bo harimwo uwutagira ishaka ryo gushimira koko Imana Allah, hakabamwo rero n’uwihakana inema zayo akagarariza. Burya, nta wugarariza mu guhakana yivuye inyuma ivyemezo vy’ubushobozi bwacu Twebwe Allah, kiretse umuhemu atigera yubahiriza isezerano, umugarariji ruhebwa mu kwihakana inema zacu."},{"id":33,"translation":"Emwe bantu! Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze mwiyubare umusi w’umuhero w’isi, igihe umuvyeyi ata co azomarira umwana wiwe, eka n’umwana nta na kimwe azomarira umuvyeyi wiwe. Mu vy’ukuri isezerano ry’Imana Allah, ni iry’ukuri; ntimuhendwe rero n’ibihendamaso vyo mu buzima bwo kw’isi, ngo bibabuze kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimugahendwe na shetani ibibagiza Imana Allah[9].","footnotes":"[9] Shetani ihubisha abantu ikabibagiza Imana Allah, irashobora kuba ikomoka mu bantu canke mu majini."},{"id":34,"translation":"Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’isango umuhero w’isi uzoshikirako, ni ubw’Imana Allah Yonyene, ni Yo Inatuma imvura igwa igahembura ibiremwa, Irazi n’ikiremwa kikiri mu gitereko, nta kiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi ikizokibeshaho ejo, nta n’ikiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi isango n’ahantu kizopfira, ivyo vyose bikaba biri gusa mu bumenyi bwayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose."}]},{"id":32,"verses":[{"id":1,"translation":"Alif Laam Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Iyi Qor’ani yamanuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta makenga ko yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":3,"translation":"Ahubwo nyene rero ababangikanyamana, ntibavuga ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarementanije Qor’ani! Baranguha! Ntumwa y’Imana! Ahubwo Qor’ani, ni kwo kuri wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ugabishe abantu batigeze bashikirwa hambere yawe n’Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah, kumbure hari n’aho botumbera inzira igororotse, bagaheza bakakwemera."},{"id":4,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu[2], hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo \"Al’Arsh\" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo[3]. Bantu! Nta muhagarikizi mufise abatunganiriza ivyanyu havuye Imana Allah, eka nta n’uwubavugira mufise yobakurako ibihano vyayo atari ku burenganzira bwayo. Ubwo none, ntimwokwibuka mukamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa!","footnotes":"[2] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu ku mvo Yo Yonyene Izi, ni na Yo Ishoboye kurema mu kubwira ikintu Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.\n[3] Uguhangama kw’Imana Allah ntikugereranywa n’uguhangama kw’ibiremwa."},{"id":5,"translation":"Itunganiriza ibiremwa vyose kw’itegeko rivuye mw’ijuru rikamanuka kw’isi, hanyuma nya tegeko rigasubira kuri Yo ku musi ungana n’imyaka igihumbi, mufatiye ku kirangamisi co kw’isi."},{"id":6,"translation":"Iyo Mana Rurema Allah Ishoboye gutunganiriza ibiremwa rero, ni Yo Rumenyi w’ibintu vyose, Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":7,"translation":"Yatunganije ikintu cose maze Igiha indemo ikibereye, Yatanguye no kurema umuntu ari we Adamu mw’ivu ata co Irinze gufatirako;"},{"id":8,"translation":"Mu nyuma, Iraheza Igira uruvyaro rwa Adamu kuba rurondoka biciye mw’ima ry’intanga zigayitse;"},{"id":9,"translation":"Hanyuma Itunganya iremwa ry’umuntu mu ndemo ibereye, Iranarungika n’umumalayika amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse kuri Yo. Bant! Yaranabahaye ubushobozi bwo kwumva no kubona, kugira mutandukanye amajwi mwumva n’amabara mubona, n’ibindi; Ibaha n’umushaha kugira mutahure, muheze mumenye gutandukanya iciza n’ikibi. Burya rero mushima gake!"},{"id":10,"translation":"Ababangikanyamana bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, barinamuye bavuga bati: “Aho ga ntuze, nitwamara gucika ivu mu kuzimu, burya tuzoremwa bushasha tuzuke!”. Ahubwo rero, bamirira kure izurwa ry’ibiremwa, kuko bahakana bivuye inyuma ko batazohura n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Umumalayika ajejwe urupfu ari na we abashinzwe, azobakuramwo imishaha ikiringo co kubaho kwanyu nicahera, muce mupfa, hanyuma musubizwe ku Mana yanyu Rurema Allah kugira Ibahembere ivyo mwakoze; ineza ku ciza canke inabi ku kibi”."},{"id":12,"translation":"Muntu! Iyo uba wobona ukuntu abanyavyaha bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bicurikiriye bajumarariwe n’ibiteterwe n’akantu ku Mana Yabo Rurema Allah, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba; igihe bavuze bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twabonye ibibi twakoze, twumvise n’ukuri ivyo Intumwa zawe zahora ziturarikira kw’isi, ni ukuri turigaye. Turagusavye rero Udusubize kw’isi maze dukore ivyiza bitegetswe. Mu vy’ukuri, twemeye ata guhigimanga ivyo twahora duhakana twivuye inyuma kw’isi”."},{"id":13,"translation":"Iyo rero Twebwe Allah Dushaka, ni ukuri Twari gushoboza umwumwe wese mu babangikanyamana kwemera, akaba umugororotsi, ariko rero bamaze kwagirwa n’ijambo ry’ukuri rivuye kuri Jewe Allah, ko Ntegerezwa kwuzuza umuriro wa Jahannamu abagarariji bose bakomoka mu bantu no mu majini, kuko bahisemwo ubuhuvyi;"},{"id":14,"translation":"Igihe co gutabwa mu muriro, bazobwirwa ku gashinyaguro n'akantu bati: “Nimwumvirize rero ibihano bitewe n’igotwa ryanyu ryatumye mwibagira kwitegurira umusi wanyu w’izuka, mu vy’ukuri kuri uno musi, Twebwe Allah Turabirengagije, nimwumvirize nyabuna ku vyo mwahora mukora, ibihano vyamaho mu muriro wa Jahannamu”."},{"id":15,"translation":"Burya, abemera Aayah zacu za Qor’ani bakanagendera vy’ukuri ibirimwo, ni barya iyo bibukijwe canke basomewe nya Aayah, bashoka bubama ku ruhanga, bagaheza muri nya kwubama bagashimagiza Imana yabo Rurema Allah, bayininahaza bayitazira, kandi ntibagira amanyama ngo banke kwubamira Imana Imwe Rudende Allah[4];","footnotes":"[4] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe."},{"id":16,"translation":"Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu, basaba Imana yabo Rurema Allah ku gutinya ibihano vyayo, baziga n’indishi kuri Yo; no mu vyo Twabaronkeje, baratanga mu bikorwa vy’igamburukiramana."},{"id":17,"translation":"Nta muntu n’umwe rero azi ivyategekanirijwe abemeramana mu vyiza biri aho vy'akaroruhore, biryoheye ijisho bikeza n’umutima. Iyo, ni yo ndishi ku vyiza bamye bakora kw’isi."},{"id":18,"translation":"Mbega burya umwemeramana agamburukira Imana Allah akizera n’isezerano ryayo, ni nk’ikigaba kigarariza Imana Allah kigahakana civuye inyuma Intumwa n’umusi w’iherezo! Ihibambewe, ntibanganya ubutore."},{"id":19,"translation":"Abemeye rero Imana Allah bagakora n’ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima yo mu Bwami bw’ijuru bazoshikiramwo, ni yo ndishi ku vyiza bamye bakora kw’isi;"},{"id":20,"translation":"Nayo ibigaba vyarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, ubushikiro bwavyo ni mu muriro wa Jahannamu. Igihe cose bagerageje kuwuhunga ngo bawuvemwo bazokubitirwa gusubirayo, maze babwirwe n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwumvirize nyabuna ibihano vy’umuriro mwahora muhakana muvuga ko bitabaho!”."},{"id":21,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Tuzohonja ibigaba bihakana bikarenga ku mabwirizwa yacu, ibihano vy’ubwoko bwose; ibihano bitobito vy’ivyago n’amagorwa kw’isi imbere yuko bihabwa mu muriro ibihano rutura ku musi w’izuka; ivyo bikaba ari mu ntumbero yo kugira vyisubireko bigaruke vyigaye ivyaha vyavyo ku Mana Allah."},{"id":22,"translation":"Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwibutswa ku vyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah, hanyuma akavyirengagiza. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzokwihora mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Qor’ani; ntugire rero impungenge zo guhura na Musa mu rugendo rw’ijoro n’irerurwa ryo kuduga mw’ijuru. Kukaba nkako, Tawurati Twayigize uburongozi kuri Bene Israyeli."},{"id":24,"translation":"Twaranagize muri Bene Israyeli indongozi ziganwa n’abandi mw’idini, zikanabararikira kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Iryo teka Twaribateye igihe bihanganira kwubahiriza amabwirizwa yacu, bakaba baremera koko n’ivyemezo vyacu."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ku musi w’izuka, Imana yawe Rurema Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’abagarariji muri Bene Israyeli, no mu yindi migwi y’abantu ku vyo bamye bahazanako mw’idini, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze."},{"id":26,"translation":"Mbega abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntibamenye ko Twebwe Allah Twahoneje hambere yabo imigwi myinshi y’abantu bagarariza, mu gihe birirwa baragendagenda ahahoze imihana yabo, birabira ukuri kwamye ibisigarira vy’ihonywa ryabo! Mu vy’ukuri, muri iryo honywa, ni ukuri harimwo ivyemezo n’inkebuzo vyerekana ukuri kw’Intumwa Twarungitse. Mbega none abahakana Intumwa, ntibokwumva ngo bikebuke!"},{"id":27,"translation":"Mbega abahakana izurwa ry’ibiremwa, ntibabonye ko Turungika amazi kw’isi yagadutse igacika ubukumbagare, maze Tukanagisha ibiterwa bitandukanye kw’ibara hakoreshejwe ayo mazi, maze ibitungwa vyabo bigaheza bikarisha, na bo nyene bakavyikorako mu kubifungura! Mbega none, ntibabona ivyo vyose ngo baheze bemere ko Imana Allah Ishoboye no kuzura abapfuye!"},{"id":28,"translation":"Ababangikanyamana bihutira kwisabira ibihano, bakavuga bitangaza bati: “None ni ryari isango ry’uguca urugororotse ruzodutandukanya na mwe abemeramana nimwaba muri imvugakuri!”."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishure ubabwire uti: “Umusi w’ukubacira urugororotse mugaheza mugahanwa, ni igihe mwashikiwe n’urupfu, aho ukwemera kw’abagararije muri ico gihe ata co kuzobamarira, eka ntibazohabwa n’akanya ngo bigaye ivyaha vyabo”."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Birabishe amaso, wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, uheze urindire ico bagiye kwibonerako, mu vy’ukuri na bo nyene ntibicaye, bararindiriye mu kubatega imisi y’akaga, ariko rero Imana Allah Izobatetereza."}]},{"id":33,"verses":[{"id":1,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Shishikara ugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira ubere akarorero keza abemeramana, kandi ntukumvire abagarariji n’indyarya. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":2,"translation":"Uraheza rero ukurikire ivyo uhishurirwa n’Imana yawe Rurema muri Qor’ani hamwe n’imigenzo myiza. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Izi ivyo mukora vyose, ni Yo Muhetuziwavyose."},{"id":3,"translation":"Ishimikize Imana Allah mu kuyizera mu vyawe vyose unayiture, burya Imana Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi w’uwuyizeye."},{"id":4,"translation":"Imana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro[1], kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite[2]. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse.","footnotes":"[1] Ukuziririza umukenyezi mu ndahiro, ni kurya umugabo abwira umugore wiwe ati: “Wewe kuri jewe uri ikizira nko gusubira ku mugongo w’umuvyeyi wanje amvyara; gusubira kw’ibere”. Muri ico gihe rero nya mugore aca aba ikizira kuri we nka nyina amuvyara. Iyo ngingo yubahirizwa ukwo imbere yuko ubwislamu buza, mu nyuma rero iyo ngingo yahavuye ihagarikwa kuko ishingiye ku kinyoma mu kuziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah.\n[2] Mu bijanye n’ibizira canke ibirekuwe kuri mwebwe; nko mu gutorana canke mu kwabirana."},{"id":5,"translation":"Abana mureze rero, murabitirira amazina ya ba se babavyara, ico ni co ciza kandi ni na bwo butungane buva ku Mana Allah. Nimutamenya amazina ya ba se babavyara, muri ico gihe, murabita benewanyu mw’idini n’abanywanyi banyu. Nta n’icaha kuri mwebwe kiri mu vyo mwakosheje mutabigize nkana, ariko Imana Allah Ibahanira ivyo mugize nkana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":6,"translation":"Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), akwiye kwitwararikwa n’abemeramana mu bijanye n’idini n’ubuzima bwo kw’isi, kurusha uko bitwararika ubuzima bwabo. Abakenyezi biwe na bo, ni ba kizira ku bemeramana nka ba nyina babavyara; ntibarekuriwe kubabira mu nyuma yiwe[3]. Incuti zisangiye amaraso mu bislamu, ni zo zikwiye gutorana hagati yazo hisunzwe ingingo z’Imana Allah ziri mu Gitabu, ha gutorana hagati y’abislamu hisunzwe ubucuti bushingiye ku kwemera no ku kwimukira i Madina[4]; kiretse mu gihe mwoshima guha ku bisigi abo mudasangiye amaraso mu bislamu ku bugwaneza. Iyo ngingo rero, yaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.","footnotes":"[3] Iyi Aayah, yigisha umwislamu ko abwirizwa gukunda Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kurusha uko yikunda, maze akamwumvira bikwiye; abwirizwa no kwubaha akubahiriza n’abakenyezi biwe; ntabatyoze canke ngo abatuke.\n[4] Mu ntango y’ubwislamu, abislamu batorana hagati yabo bisunze ubucuti bwo kwemera no kwimukira i Madina. Iyi ngingo rero, yakuweho n’ingingo zitunganya itorana hagati yabo hisunzwe ubucuti bw’amaraso."},{"id":7,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twafata ku Bavugishwamana isezerano ryabo ko bazoshikiriza ubutumwa nk’uko baburungikanwe, Turaheza Dufata nya sezerano nyene kuri wewe, kuri Nuhu, kuri Ibrahimu, kuri Musa no kuri Isa mwene Mariyamu[5]. Kuri abo bose rero, Twafashe isezerano riremereye ryo gushikiriza ubutumwa ata guhigimanga, no kwitsanya ata kuvuguruzanya.","footnotes":"[5] Abo Bavugishwamana batanu, ni zo Ntumwa z'Inararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’azmi”."},{"id":8,"translation":"Imana Allah Yafashe isezerano kuri abo Bavugishwamana kugira Izobabaze ku kungene bumviwe n’abo barungitsweko, Iheze Ihembe abemeramana Ubwami bw’ijuru, Yaranategekanirije abagarariji ibihano bibabaza ku musi w’izuka."},{"id":9,"translation":"Emwe bemeramana! Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe; igihe mwaterwa n’ingabo ziyunze zigizwe n’ababangikanyamana baje bava i Makka, abayahudi b’i Madina hamwe rero n’abo mu micungararo yaho, zikabatera i Madina ku rugamba rwitiriwe ingabo ziyunze “Ahzaabu”, maze Tuzirungikira umuyaga w’igihuhusi warandaguye ukagurura ibikoresho vyazo, Tukarungika n’ingabo z’abamalayika zivuye mw’ijuru mutigeze muzibona, gutyo nya ngabo ziyunze zitekerwa n’ubwoba n’akantu, zirata ziromoka imbere yuko n’urugamba rutangura. Burya Imana Allah, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona."},{"id":10,"translation":"Nimwibuke kandi igihe zimwe muri nya ngabo ziyunze zije zizananye amaja haruguru y’akabande mu buseruko, izindi zikazanana amaja epfo ya nya kabande mu burengero, maze amaso arakanuka, imitima yenda kubavamwo kubera ubwoba, mugatangura kwiyumvira nabi Imana Allah ko Idatabara idini ryayo ngo riganze."},{"id":11,"translation":"Aho rero, ni ho abemeramana bageragezwa nya kugeragezwa, barahungabana nya guhungabana, haraheza hamenyekana umwemeramana vy’ukuri n’indyarya;"},{"id":12,"translation":"Igihe indyarya hamwe n’abagoyagoya mu kwemera binamura bavuga bati: “Intsinzi Imana Allah n’Intumwa yayo Badusezeraniye, ni uruhendo nta kuri kurimwo namba”."},{"id":13,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka n’igihe zimwe mu ndyarya zahamagara abemeramana b’i Madina zikababwira ziti: “Bantu muba i Yath-ribu[6]! Nta co murindiriye mu kuguma ku rugamba mutari butsinde, turabinginze mwisubirire mu zanyu!”. Hari n’umugwi muri nya ndyarya wasavye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko yowurekurira ugasubira inyuma ku mvo z’uko imiryango yawo idakingiwe bikwiye kandi ubesha. Uwo mugwi nta co warondera mu gusaba ko wosubira inyuma, atari uguhunga urugamba.","footnotes":"[6] Yath-ribu, ni ryo zina ry’igisagara ca Madina imbere yuko Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) acita Madina."},{"id":14,"translation":"Iyo ingabo ziyunze zitera i Madina ziturutse ku mpande zose, hanyuma zikagerageza indyarya mu kuzisaba kuva mw’idini, aho nyene izo ndyarya zaca ziva mw’idini, ntizari no kurindira n’akanya isase."},{"id":15,"translation":"Ni ukuri, izo ndyarya imbere yuko urugamba rw’ingabo ziyunze rushuha, zari zahaye Intumwa isezerano ryo kwumvira Imana Allah mu kudahunga urugamba, iryo dohoka n’ihemuka kw’isezerano rero, zizorihanirwa. Burya, umuntu azobazwa kw’isezerano ry’Imana Allah."},{"id":16,"translation":"Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Ihunga ryanyu ry’urugamba ku mvo zo gutinya urupfu canke ukwicwa, ntirizotuma murenga umusi warwo hageze gupfa, kandi ntimuzoryoherwa n’ivy’isi, kiretse akanya gato mwagenewe kubaho hanyuma mupfe, ni n’akanya gato cane katogereranywa n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":17,"translation":"Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Mbega ni nde yobakingira ku Mana Allah mu gihe Yoshaka ko mushikirwa n’ikibi, canke Igashaka ko mushikirwa n’iciza ku mpuhwe zayo!”. Muri ico gihe rero, indyarya nta muhagarikizi zoronka atari Imana Allah azikura mu bihano, eka nta n’umutabazi zoronka azikingira nya bihano."},{"id":18,"translation":"Ni ukuri Imana Allah, Irazi muri mwebwe abarondera inyendamuvano yo kutaja ku rugamba rwo guharanira idini ryayo, Irazi n’ababesha benewabo ngo barwiyonjororeko bakababwira bati: “Enda nyabuna rero, nimwiyizire iwacu muve kuri Muhamadi, ntimuzojane na we ku rugamba ngo muhave muhasiga agatwe!”. Hamwe n’ukurondera abokwiyonjorora ku rugamba rero, ntibaja no ku rugamba, kiretse gake kabaho ku kwiyerekana no ku gutinya kumaramara;"},{"id":19,"translation":"Muzobamenyera rero ku kuba ari ingumyi, nta co bikura mu matungo ngo babahereze, ntibanitanga mu guharanira idini no mu kubereka urukundo ku kubera urwanko n’inzigo babafitiye, ku gukunda ivy’isi no ku kwanka gupfa. Iyo hageze guhangana ku rugamba, baratinya gupfa amaso akabakanukana, ukabona bakuraba, amaso yabo akarerembuza nk’uwuri ku mpfiro; urugamba rwamara guhera, imitima yabo igasubira mu nda, bakabaha akarimi kabi mu kubatyoza no mu kubandagaza, bakaba n’ingumyi zirangwa n’ishari n’akantu mu gihe co kugabangana iminyago. Abo rero, ntibaremera vy’ukuri, gutyo Imana Allah Iraheza Ikagira ibikorwa vyabo impfagusa, kandi ukugira ivyo bikorwa vyabo impfagusa, biroroshe ku Mana Allah."},{"id":20,"translation":"Indyarya ku bugugu bwazo, zibaza ko ingabo ziyunze zaneshejwe ata n’urugamba rurinze kuba, ata ho zagiye, kandi zarataye urugamba zikomoka. Iyo rero nya ngabo zigaruka gutera i Madina, indyarya zari kwipfuza kuba ziri kumwe n’abantu baba mu micungararo y’i Madina, aho zari kubariza kure, ku nkuru z’ivyabashikiye ku rugamba; n'iyo vyari gushika zikaba ziri kumwe na mwe ku rugamba, ntizari gupfa zibafashije kurwana kiretse gake."},{"id":21,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu nyigisho no mu migenzo vy’intumwa. Uwisunga rero inyigisho n’imigenzo vy’intumwa, ni uwizeye ko azohura n’Imana Allah, akemera n’umusi w’iherezo, maze akaninahaza akanatazira Imana Allah kenshi ayishimira."},{"id":22,"translation":"Abemeramana rero, aho baboneye ingabo ziyunze zamaze kwugariza i Madina, baributse isezerano ry’intsinzi y’Imana Allah ko igiye gushika, baraheza bavuga bati: “Iri, ni rya sezerano ry’igeragezwa n’intsinzi twahawe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, Imana Allah Yarishize mu ngiro, n’Intumwa yayo yavuze ukuri mu vyo yadushikirije”. Umuzo w’ingabo ziyunze rero, nta co wabongerereje kiretse ugutsimbatara ku kwemera Imana Allah, no ku kwicisha bugufi mu kwakira neza ishirwa mu ngiro ry’ivyagezwe kuri bo."},{"id":23,"translation":"Burya mu bemeramana, harimwo abagabo babushitse (b’ijunja n’ijambo), bubahiriza ivyo basezeraniye Imana Allah, bakihangana mu mahirwe no mu marushwa, no mu gihe bari ku rugamba. Muri bo rero, harimwo abashize mu ngiro ivyo biyemeje bapfira ku rugamba ku bw’Imana Allah, canke bapfa bakiri kuri nya sezerano bataridohotseko; harimwo n’abakirindiriye kuronka kimwe mu vyiza bibiri: intsinzi canke gupfira ku rugamba ku bw’Imana Allah; kandi ntibigeze na rimwe bivuguruza nk’indyarya ngo badohoke ku vyo basezeraniye Imana Allah;"},{"id":24,"translation":"Ivyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ihembere imvugakuri z’abemeramana ukwubahiriza isezerano no kwihangana ku bwayo, Iheze Ihane n’indyarya niyabishaka mu kutazishoboza kwigaya imbere yo gupfa, canke Izibabarire mu kuzishoboza kwigaya kuri Yo imbere yo gupfa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":25,"translation":"Imana Allah Yasubije inyuma ingabo ziyunze ziteterewe zishwe n’ishavu n’akantu ku kudashika ku co zipfuje; nta n’iciza zaronse kuri nya rugamba, haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah Iraheza Ikingira abemeramana kurwana kuri nya rugamba ku bubasha bwayo. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":26,"translation":"Ni naho rero Imana Allah, Yakura abayahudi Bene Quraidhwa mu nzitiro-ntamenwa zabo, ku kubera ubugaba bwabo bwo gufadikanya n’ingabo ziyunze mu kurwanya abislamu, Iraheza Itera n’ubwoba mu mitima yabo bashoka baneshwa. Bemeramana! Muri bo rero, harimwo umugwi mwishe n’uwundi mwagize imbohe;"},{"id":27,"translation":"Yaranabakomoreye amatongo n’inyubakwa vyabo, Ibakomorera kandi amatungo yimurwa n’ayatimurwa; Inabashoboza kwigarurira n’amatongo yabo mutari bwigere muhonyozamwo n’ikirenge kuko mutari kuyahangara, kubera yari akingiwe mu buryo budasanzwe. Burya Imana Allah Yamye ari Mushoboravyose."},{"id":28,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Bwira abakenyezi bawe baguteraniyeko basaba kwongererezwa ibibabeshaho ku musi, uti: “Nimwaba mugomba ubuzima bwo kw’isi n’ibihendamaso vyabwo, enda nimuze rero ndabatekerere, mpeze nahukane na mwe ku neza;"},{"id":29,"translation":"Nimwaba naho mugomba gushimwa n’Imana Allah n’Intumwa yayo, no kuronka ivyo mwategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nimwihanganire kubeshwaho n’ivyo ndabahaye, muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo; mu vy’ukuri Imana Allah, Yarateguriye abagwaneza muri mwebwe impembo ihambaye[7]”.","footnotes":"[7] Abakenyezi b’Intumwa rero, bahavuye bahitamwo Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’impembo ihambaye bateguriwe, baraheza barihangana."},{"id":30,"translation":"Bakenyezi b’Umuvugishwamana! Uwuhirahiye muri mwebwe agacumura bimwe bigaragara, azohabwa igihano kigwijwe incuro zibiri[8]. Kandi uguhabwa ico gihano kwanyu, kuroroshe ku Mana Allah.","footnotes":"[8] Uguhabwa igihano kigwijwe incuro zibiri, gushingiye ku kuba bitabereye namba ku bakenyezi b’Intumwa gukora igicumuro kigaragara, kuko bafise ikibanza c’iteka n’icubahiro nta ngere co kuba abakenyezi b’Intumwa y’Imana."},{"id":31,"translation":"N’uwumviye Imana Allah n’Intumwa yayo muri mwebwe, agakora n’iciza gitegetswe, Tuzomuhembera ico ciza impembo igwijwe incuro zibiri; Twaranamutegekanirije n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":32,"translation":"Bakenyezi b’Umuvugishwamana! Nta ho musa musana n’uwo wese mu bandi bakenyezi mu mpano no mu cubahiro mwagenewe, mu gihe mwokwumvira Intumwa, mukagamburukira n’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; ntimukaganire rero n’abagabo batari ba kizira kuri mwebwe, mw’ijwi rirongorotse ryotirimutsa uwufise indwara mu mutima, bigatuma agira ikigumbagumba maze akipfuza imibonano mpuzabitsina[9]. Muraheza rero mukoreshe imvugo idatera amakenga, itanateye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah;","footnotes":"[9] Uru rupfasoni rwo kuganira, ni ingingo yega umugore wese yemera Imana Allah, akemera n’umusi w’iherezo."},{"id":33,"translation":"Muheze muturure mu kuguma mu zanyu, kiretse mu gihe hoba hari igituma mwosohoka. Kandi ntimukerekane ibisharizo mwambaye n’ibiranga ubwiza bwanyu, nk’uko abakenyezi babigira imbere yuko hashingwa amabwirizwa y’ubwislamu. Muratsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, muheze mutange n’ishikanwa-bwirizwa, maze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Emwe banyamuryango w’Intumwa[10]! Ni ukuri Imana Allah, Ibahanura kugira Ibeze akabi n’akabibi mu mitima yanyu, Yongere Ibasukure isuku ry’ibiboneka n’isuku ry’umushaha;","footnotes":"[10] Abantu bo mu muryango w’Intumwa “ahlu l-bayti”, ni abakenyezi biwe hamwe n’uruvyaro rukomoka kuri yo."},{"id":34,"translation":"Murama mwibuka rero ibisomerwa mu nzu zanyu muri Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, muheze muvyubahirize, mubigendere. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibibafitiye akamaro; Muhetuziwavyose, Irazi n’igituma Yarabashingiye Intumwa."},{"id":35,"translation":"Mu vy’ukuri, abislamu n’abislamukazi, abemeramana n’abemeramanakazi, abumviramana n’abumviramanakazi, imvugakuri mu bagabo no mu bagore, abihanganira igamburukiramana n’ivyago bibashikira muri bo, abatinya Imana Allah muri bo, abatanga muri bo ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, abipfunga muri bo amapfungo-bwirizwa n’amapfungo yo kwitonesha, abacungera ubwambure bwabo muri bo mu kudasambana no mu kutagira ivyotuma haba ubusambanyi, hamwe rero n’abaninahaza bagatazira kenshi Imana Allah mu buryo bwose mu bagabo no mu bagore; abo bose rero, Imana Allah Yabategekanirije igumirizwa ry’akabanga ku vyaha, Iraheza Irabababarira; Yabategekanirije n’ironswa ry’indishi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":36,"translation":"Nta ho vyakabaye mu gihe Imana Allah n’Intumwa yayo bashinze ingingo, ko umwemeramana n’umwemeramanakazi baca kubiri na nya ngingo bakishirira ahabo. Uwo wese rero agabitaniye Imana Allah n’Intumwa yayo, ni ukuri aba ari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri."},{"id":37,"translation":"Muvugishwamana! Ibuka igihe Zayidi mwene Haaritha[11] ahabwa n’Imana Allah inema y’ukuba umwislamu, maze na we ukamugirira ubuntu bwo kumuha ubwigenge ukamubarira uti: “Kenyera wubake rugume, nturote wahukana n’umukenyezi wawe Zayinabu mwene Jahshi, maze utinye Imana Allah”; uraheza uhisha mu mushaha wawe ivyo Imana Allah Yahavuye Ishira ahabona, ko Zayinabu niyahukana na Zayidi, ari wewe uzoca umwabira; ugira n’impungenge zo kwanka ko indyarya zovuga ko wabiriye uwahoze ari umukazana wawe, kandi Imana Allah ari Yo wategerezwa gutinya kurusha. Zayidi rero amaze kwahukana na Zayinabu, Zayinabu agaheza ikiringo ciwe co kwarama, Twebwe Allah Twaramugushingiye, kugira ubere abemeramana imboneza n’imurikizi mu kutaziririza gushingirwa abahoze ari abakenyezi b’abana b’abarerano inyuma yo kwahukana. Burya ingingo y’Imana Allah, yamye ari yo ija mu ngiro ata gisivya.","footnotes":"[11] Zayidi mwene Haaritha yarerewe ku Ntumwa, ico gihe umwana w’umurerano yafatwa nk’aho ari umwana w’uwamureze akanamwitirirwa kw’izina. Ivyo rero, vyahagaritswe n’ihishurwa rya Aayah ya 5 iri muri iki gisomwa c’Ingabo ziyunze “Al-Ahzaab”."},{"id":38,"translation":"Nta kibi rero kiri ku Muvugishwamana, mu kurekurirwa n’Imana Allah kwabira uwahoze ari umukenyezi w’umwana w’umurerano inyuma y’aho bahukaniye, ni wo mugirwa-ndemanwa rero Imana Allah Yarekuriye n’abo hambere yiwe mu Bavugishwamana, ni ingingo y’Imana Allah iri mu vyagezwe bitegerezwa kuba;"},{"id":39,"translation":"Nya Bavugishwamana bashikiriza abantu ubutumwa bw’Imana Allah, bagaheza bagatinya Imana Allah Yo Yonyene ata guhirahira ngo batinye ikindi kintu na kimwe. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba ari Yo Mureretsi Iharurira Igahembera ibiremwa ivyo vyakoze."},{"id":40,"translation":"Muhamadi, ntiyigeze aba se w’uwo wese muri mwebwe, ariko ni Intumwa y’Imana Allah, akaba n’Umuhetuzi w’Abavugishwamana bose gushika ku musi w’umuhero w’isi. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":41,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimuninahaze mwongere mutazire kenshi cane Imana Allah mu buryo bwose[12];","footnotes":"[12] Ininahaza n’itaziramana mu buryo bwose, rigirwa n’ururimi rivuye ku mutima rikagamburukirwa n’ibindi bihimba vy’umubiri."},{"id":42,"translation":"Muheze mushimagize Imana Allah muyininahaza mwongera muyitazira mu bihe vyose; igitondo n’umugoroba, inyuma y’amasengesho-bwirizwa no mu gihe mushikiwe n’ibiza[13];","footnotes":"[13] Ininahaza n’itaziramana mu bihe vyose, riri mu bintu vyegereza umuntu ku Mana Allah, rigatuma ururimi rwiwe rudacumura, rikanamufasha gushika ku vyiza vyinshi, maze nya muntu agakundwa n’Imana Allah."},{"id":43,"translation":"Ni Yo Ibagirira impuhwe Ikabahayagiza, abamalayika na bo bakabasabira kuri Yo kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubuhuvyi, Iheze Ibashire mu muco w’ukwemera, kanatsinda Yamye ari Nyenimbabazi ku bemeramana mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":44,"translation":"Indamutso y’abemeramana mu Bwami bw’ijuru, umusi bahuye n’Imana Allah, ni indamutso y’amahoro n’itekane; Yaranabateguriye n’impembo nziza yubashwe y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":45,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ubere icabona abantu warungitsweko, ko wabashikirije koko ubutumwa, maze ushikirize inkuru nziza ihumuriza abameramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe n’ibigaba ku bihano vy’Imana Allah;"},{"id":46,"translation":"No kugira rero urarikire n’abantu kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah ku burenganzira bwayo, ubabere n’itara ribamurikira inzira y’ukuri."},{"id":47,"translation":"Shikiriza rero, inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bagenewe n’Imana Allah impano rutura mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":48,"translation":"Kandi ntukumvire namba abagarariji n’indyarya mu biciye kubiri n’ingingo z’ubwislamu, irengagize ibangamira ryabo, maze ushishikare gushikiriza ubutumwa, uheze wishimikize Imana Allah uyizere. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhagarikizi Agukingira ibikubangamiye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":49,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwashingirwa abemeramanakazi, hanyuma mukahukana na bo imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, muri ico gihe nta kwaramira ukwahukana muzobaharurako. Muraheza rero mugire ico mubatekereye mwisunze ubushobozi bwanyu, maze mwahukane na bo ku neza[14].","footnotes":"[14] Iryo tekererwa ry’umukenyezi yahukanye, ni ingingo yubahirizwa mu ntumbero yo gushumbusha nya mukenyezi yahukanye ku mvo zitamuvuyeko."},{"id":50,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarakurekuriye kwabira abakenyezi wakoye, abo ugaba ukaganza mu ncoreke waronkejwe n’Imana Allah mu minyago, abakobwa ba sowanyu n’abakobwa ba nyogosenge, hamwe rero n’abakobwa ba nyokorome n’abakobwa ba nyokwanyu bimukanye na we bakaja i Madina. Twakurekuriye no kwabira umukenyezi w’umwemeramanakazi mu gihe yokwiha ubwiwe ata nkwano arinze gusaba, mu gihe wokenera wewe nyene kumwabira. Muvugishwamana! Iyi ngingo, ni wewe gusa yagenewe, nta n’uwundi n’umwe mu bemeramana yega. Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ingingo Twashingiye abemeramana zijanye n’abakenyezi babo n’incoreke bagaba bakaganza; ko barekuriwe kwabira gushika kuri bane mu bakenyezi, hamwe rero n’igitigiri bipfuza mu ncoreke, mu gihe bobaha inkwano zabo hakaba hari umushingizi n’ivyabona. Izo ngingo rero zikworohereza kwabira ku buryo butarekuriwe abandi, zashinzwe kugira ntugire akangonongono mu kwabira bamwe mu migwi y’abakenyezi wipfuza. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":51,"translation":"Urarindiriza izamu ryo gutahira uwo ushatse mu bakenyezi bawe, ukanakira kw’izamu muri bo uwo ushatse, n’uwo ushatse kwakira muri bo izamu ryiwe ritaragera, nta caha kuri wewe; iryo hitamwo ry’izamu hagati yabo, ni ryo rituma bagumiza umutima mu nda bakagira n’akamwemwe, maze bose bagashimishwa n’igaburwa ry’izamu wabahaye. Imana Allah rero, Irazi neza ibiri mu mitima yanyu mwebwe abagabo, bituma muhengamira kuri bamwe mu bakenyezi banyu. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba."},{"id":52,"translation":"Muvugishwamana! Kuva ubu rero, nturekuriwe kwabira abagore mu nyuma y’abakenyezi bawe ufise, ntunarekuriwe no kwahukana na bo ngo uheze wabire abandi mu kibanza c’abo[15], n’aho woshimishwa n’ubwiza bw’abo ushaka kwabira, kiretse mu gihe boba ari mu bo ugaba ukaganza mu ncoreke. Burya Imana Allah, Yamye ari Mureretsi w’ivyo mugira.","footnotes":"[15] Iyi ngingo yashinzwe n’Imana Allah mu ntunbero yo kwubaha no kwubahiriza abakanyezi b’Intumwa, kuko bahisemwo Imana Allah n’Intumwa yayo n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa ha guhurumbira ibihendamaso vy’isi."},{"id":53,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukinjire mu mihana y’Umuvugishwamana mutabanje kudodora ngo abemerere kwinjira, anabazimane ku mfungurwa mutarinze guteramira mu kurindira ko zisha; ariko mu gihe mwotumirwa murinjira, maze mufungure. Mumaze gufungura rero, muraca mukura meza mutarinze guteramira ku kiyago, mu vy’ukuri uguteramira mu mihana yiwe mu kurindira ko imfungurwa zisha, hamwe no guteramira ku kiyago muhejeje gufungurirwa, birageramira Umuvugishwamana akagira isoni zo kubasohora kandi abifitiye uburenganzira; mu vy’ukuri Imana Allah, ntigira isoni zo kugaragaza ukuri. Nihagira rero ibintu nkenerwa mu dukoresho two mu nzu n’ibindi mwipfuza gusaba abakenyezi b’Intumwa, murabisabira inyuma y’ipaziya. Ivyo rero, ni vyo vyeza cane imitima yanyu n’imitima yabo, mu kutagira akarigangamuhogo k’inyoshambi, kanatsinda ntimukwiye kubangamira namba Intumwa mu mvugo canke mu ngiro, eka ntimunarekuriwe namba mu nyuma yayo kwabira abakenyezi bayo, kuko ari abavyeyi banyu. Mu vy’ukuri, ukubangamira Intumwa kwanyu mu mvugo canke mu ngiro, hamwe no kwabira abakenyezi bayo mu nyuma yayo, ni icaha rutura ku Mana Allah."},{"id":54,"translation":"Bantu! Muramutse museruye ikiri ku mutima mu vyo mubuzwa, mu kubangamira Intumwa canke mukakigira ibanga ryanyu, ni ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, nta kiyinyegeje mu vyo muserura no mu vyo muhisha, kandi Izobibahembera."},{"id":55,"translation":"Nta caha kiri ku bagore bemera Imana Allah, mu kutitwikira mu gihe bari kumwe na ba se, bari kumwe n’abahungu babo, basaza babo, abahungu ba basaza babo canke ba benewabo, bari kumwe n’abemeramanakazi hamwe rero n’abo bagaba bakaganza mu bashumba babo. Ivyo bikaba biri ukwo, kuko bakenerana kenshi mu dukorwa twabo twa misi yose. Bemeramanakazi! Nimwikingire ibihano vy’Imana Allah, mu kutarenga ku mabwirizwa yayo[16]. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa; ibihishije n’ibigaragara, kandi Izobibihembera.","footnotes":"[16] Amabwirizwa abakenyezi b’abemeramanakazi babuzwa kurengako ng’aha, ni ukugaragariza ibisharizo bambaye abatarekuriwe kubibona, hamwe rero no kutitwikira mu gihe bari kumwe n’abatarekuriwe kubabona mu bagabo n’abagore batitwikiriye."},{"id":56,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahayagiza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku batoni bayo mu bamalayika; abamalayika bayo na bo bakamuhayagiza banamusabira kuri Yo. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuri izo mvo rero zo kwubaha no kwubahiriza uyo Muvugishwamana, mutegetswe kumusabira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah[17].","footnotes":"[17] Harakiriwe uburyo bwinshi bwo gusabira amahoro n’impuhwe Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); muri bwo, ni ubu bukurikira: “ALLAAHUMMA SWALLI ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA SWALLAYTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN. ALLAAHUMMA BAARIK ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA BAARAKTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN”. (Ewe Mana yanje Rurema Allah! Hundagaza impuhwe zawe ku Ntumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahundagaje impuhwe zawe ku Ntumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu. Mu vy'ukuri Wewe, ni Nyenugushimagizwa, Nyeniteka. Ewe Mana Yanje Rurema Allah! Hezagira Intumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahezagiye Intumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu. Mu vy'ukuri Wewe, ni Nyenugushimagizwa, Nyeniteka)."},{"id":57,"translation":"Mu vy’ukuri, abashavuza Imana Allah mu kuyibangikanya no mu kurenga ku mabwirizwa yayo, bakabangamira n’Intumwa yayo mu mvugo no mu ngiro, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Yaranabateguriye n’ibihano bisuzuguza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":58,"translation":"Na barya babangamira abemeramana n’abemeramanakazi mu mvugo n’ingiro, babahora icaha batigeze bakora, ni ukuri biremeka ikinyoma ceruye hamwe n’icaha kigaragara bazohanirwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":59,"translation":"Muvugishwamana! Bwira abakenyezi bawe, abakobwa bawe hamwe n’abakenyezi b’abemeramana, barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mu maso no mw’izosi gushika ku gikiriza; ukwo kwitwikira rero, ni ukugira abakenyezi biyubahirize banamenyekane, maze ntibabangamirwe n’ibihumbu. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":60,"translation":"Indyarya, abanyengeterewe mu mutima n’indwara yo kwamana amakenga, hamwe rero na ba gateranya barazwa ishinga no gukwiragiza ibihuha mu gisagara ca Madina, mu ntumbero yo gutera akaguma, ni ukuri nibatateshwa bagata, Tuzokugomorera kuri bo maze ubomore, hanyuma ntibazokumarana muri nya gisagara kiretse akanya gato;"},{"id":61,"translation":"Baheze bavumwe n’Imana Allah aho bazoba bari hose. Nibatavavanura n’izo ngeso mbi rero, bazofatwa bagirwe imbohe, bicwe nya kwicwa."},{"id":62,"translation":"Ni uko vyamye rero ku ndyarya n’abarazwa ishinga no gukwiragiza ibihuha mu ntumbero yo gutera akaguma mu b’aho hambere, ko Imana Allah Yabahanisha gufatwa bakagirwa imbohe, bakanicwa aho hose bari mu gihe batavavanuye n’izo ngeso. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana indyarya na ba gateranya."},{"id":63,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abantu barakubaza ku bijanye n’isango umuhero w’isi uzoshikirako mu ntumbero yo guhakana. Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubabwire uti: “Ni ukuri ubumenyi bw’isango ry’umuhero w’isi, buzwi gusa n’Imana Allah”. Mbega Ntumwa y’Imana! Wobibwirwa n’iki, kumbure hari n’aho isango rya nya muhero w’isi ryoba riri hafi gushika!"},{"id":64,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Yaravumye abagarariji mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, Iranabategekaniriza mu buzima bw’inyuma yo gupfa umuriro wama wegenyejwe;"},{"id":65,"translation":"Bazowugumamwo ibihe bidahera mu bihano vyamaho, ntibazoronka umuhagarikizi n’umwe abakura mu bihano, eka nta n’uwubatabara mu kubibakingira bazoronka;"},{"id":66,"translation":"Umusi bahindukijwe mu maso bari muri nya muriro, bazovuga bajumarariwe n’ukwihebura n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo tumenya tukumvira Imana Allah, tukumvira n’Intumwa yayo tukiri kw’isi, ntitwari kubona ayo tubonye!”."},{"id":67,"translation":"Abagarariji kuri uwo musi, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri twebwe, twarumviye abubahwa hamwe n’indongozi zacu mw’igarariza no mw’ibangikanyamana, baraheza baraduhubisha inzira y’ukwemera uburongozi bwawe;"},{"id":68,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye rero Ubahe ibihano bigwijwe incuro zibiri ku vyo Uduha, Wongere Ubavume nya kubavuma”."},{"id":69,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabangamire Intumwa y’Imana mu mvugo canke mu ngiro; ntimukabe nk’ababangamiye Musa mu kumutyoza, maze Imana Allah Iramweza. Musa rero, yari n’Intumwa yubashwe ku Mana Allah."},{"id":70,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze muvuge amajambo aroranye mu bihe vyose;"},{"id":71,"translation":"Muri ico gihe, Imana Allah Izobatunganiriza ibikorwa vyanyu, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu Ibababarire. Uwo wese rero yumviye Imana Allah n’Intumwa yayo mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, ni ukuri azoronka intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":72,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasavye amajuru, isi hamwe n’imisozi ko vyogira ububasha bwo guhitamwo kwubaha no kwubahiriza imbitso y’amabwirizwa, maze amajuru, isi hamwe n’imisozi biranka kuyiremeka, biranagira n’impungenge zo kudashobora kuyubahiriza. Ni ho rero, umuntu yakanagara aremera kwiremeka nya mbitso; mu vy’ukuri umuntu, yamye yirenganya kenshi akaba n’ikijujute ruhebwa."},{"id":73,"translation":"Uguhitamwo kw’umuntu kwiremeka no kwubahiriza nya mbitso, kwahavuye kuba ari yo mvo yo kugira Imana Allah Ihane indyarya n’indyaryakazi, hamwe rero n’ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi, Iheze Yumvire ukwigaya kw’abemeramana n’abemeramanakazi, Inabagumirize n’akabanga ku vyaha vyabo, Iheze Ibababarire. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."}]},{"id":34,"verses":[{"id":1,"translation":"Nihashimagizwe Imana Allah Yo Mugabe w’ibiremwa vyose biri mu majuru, n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo; ni Yo Nyenegushimagizwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na Yo Ntungane mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose;"},{"id":2,"translation":"Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi[1]; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; ni na Yo rero Nyenimbabazi ku batoni bayo, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.","footnotes":"[1] Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima."},{"id":3,"translation":"Abagararije bagahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, barinamuye bati: “Nta muhero w’isi uzodushikira pe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Oya, murihenda cane! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema Allah, ni ukuri umuhero w’isi uzobashikira ukuri kwamye, mu nyuma muzuke. Ni uko rero, nta wuzi isango ryawo atari Imana Allah Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa, nta na kimwe rero kiyinyegeje n’aho coba kingana n’akanyegeri kinyegeje mu majuru canke mw’isi, eka nta n’akantu kanzunya kari musi y’akanyegeri canke kanini kuruta, kiretse ko nya kantu kanditswe mu vyagezwe n’Imana Allah, mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”."},{"id":4,"translation":"Umuhero w’isi rero uzobashikira, mu nyuma muzuke kugira Imana Allah Ihembe abayemeye bagakurikira Intumwa yayo, bakanakora n'ivyiza bitegetswe. Abo, ni bo rero bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":5,"translation":"Nayo abakoresheje urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, maze bahakane n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bibwira ko bazotunaniza Twebwe Allah, abo, ni bo bantu rero bagenewe ibihano bisuzuguza bibabaza mu muriro wa Jahannamu."},{"id":6,"translation":"Abahawe ubumenyi barazi neza ko Qor’ani wamanuriwe ari kwo kuri kudahinyuzwa, irongora mu nzira igororotse y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo."},{"id":7,"translation":"Abagararije babwiranye hagati yabo n’itebura n’akantu bati: “Mbega mwodukundira tukabarangira umuntu ababwira ko nimwamara gupfa mugacika ubunywenywe, muzoheza mukaremwa bushasha maze mukazuka!"},{"id":8,"translation":"Mbega arementaniriza nkana Imana Allah canke yarakehewe n’ubwenge![2]”. Haba namba! Si nk’ukwo rero abagarariji bavyibaza, ahubwo Muhamadi ni Intumwa akaba n’Imvugakuri koko. Ahubwo abatemera izurwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, bazoja mu bihano vyamaho; bari no mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.","footnotes":"[2] Ivyo babivuga batebura ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu ntumbero yo guhakana no kwiyamiriza ko ata zurwa ry’ibiremwa ribaho."},{"id":9,"translation":"Mbega ntu, abagarariji ntibabona ibibakikije mw’ijuru no kw’isi, ibisiga ubwenge bwabo, vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah! Dushatse rero Twebwe Allah, Twobafuririra mu kuzimu; nk’uko Twabigiriye Qaaruuni, canke Tukabamanurira ibihano biturutse hejuru; nk’uko Twabigize ku bantu ba Shu’ayibu bahitanwe n’umuriro uturutse hejuru urabaturira! Mu vy’ukuri, muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vyacu, ku muntu wese yikebuka akigaya yicishije bugufi ku Mana Allah."},{"id":10,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Dawudi impano y’ubutumwa, Igitabu n’ubumenyi, Turaheza Tubwira imisozi n’inyoni Duti: “Mwa misozi mwe hamwe n’inyoni! Nimwitabirire hamwe na Dawudi ininahaza n’itaziramana”. Twaranamworohoreje icuma mu kukiyonza akagihingura nk’uko ashatse."},{"id":11,"translation":"Twaranamuhaye intumbero mu vyo ahingura Duti: “Hingura impuzu zikingira umubiri wose mu ndwano, kandi ziremurutse zihinguwe ku rugero rukenewe. Hanyuma muheze rero, wewe n’umuryango wawe mukore ivyiza bitegetswe. Mu vy’ukuri, Jewe Allah Ndabona neza ivyo mukora, Ndi Nyenukubona”."},{"id":12,"translation":"Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku muyaga mu gihe ari ku rugendo, aho urugendo rw’ukwezi yarugenda mu gice c’umurango, mu kindi gice c’umurango akagenda urugendo rusanzwe rumara ukwezi nyene. Twaramworohereje kandi kuyonza ubutare bw’umujumpu akabuhingura nk’uko ashatse, Turanamworohereza no gukoresha Amajini mu bikorwa yipfuza, ku bushobozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, kandi uwuhirahiye muri nya Majini agaca kubiri n’ibwirizwa ryacu Twebwe Allah mu kutumvira Sulayimani, Tuzomuhonja ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe;"},{"id":13,"translation":"Nya Majini yakorera Sulayimani ivyo ashaka mu kwubaka imisigiti, no mu guhingura ibintu mu butare bw’umujumpu n’ubw’ikiyo, amabakuri maninimanini yagutse nk’icogo, inkono z’impange amahanga zitigera ziva aho zihinguriwe ku bunini bwazo. Ni ho rero Twavuga Duti: “Ewe muryango wa Dawudi! Nimukore mwubahiriza amabwirizwa yanje Jewe Allah mu ntumbero yo gushima inema zanje”. Burya rero, ni bake cane mu baja banje banshimira cane[3].","footnotes":"[3] Umuryango wa Dawudi rero, wari muri abo baja bake bashimira cane Imana Allah."},{"id":14,"translation":"Igihe rero Twebwe Allah Twiciye Sulayimani, nta camenyesheje Amajini ko yapfuye, kiretse umuswa wariye inkoni yari yishimikije aca arahenuka. Sulayimani amaze kugwa hasi, ni ho rero ya Majini yatahura ko iyo aba azi ibinyegejwe ibiremwa, atari kuguma mu bihano vyo gukoreshwa na Sulayimani ku kwibwira ko akiri muzima kandi yapfuye kera[4].","footnotes":"[4] Iyi Aayah, iremeza ko Amajini atazi na kimwe mu binyegejwe ibiremwa “ILMU L-GHAYB”, kuko iyo Amajini aba azi ibinyegejwe ibiremwa, Amajini yakoreshwa na Sulayimani aba yaramenye ubwayo urupfu rwa Sulayimani, agaheza akareka kuguma mu bikorwa, yibaza ko Sulayimani aho yari ahagaze yishimikije inkoni, ayabona kandi yari yapfuye kera."},{"id":15,"translation":"Ni ukuri, ku mihana y’abantu bo mu bwoko bw’Abasaba-i bigeze kuba muri Yemeni, harimwo icemezo cerekana ubushobozi bwacu Twebwe Allah. Kuri nya mihana, hari imirima ibiri itotahaye; umurima umwe wari ku ruhande rw’iburyo bw’ahari urugomero mu kabande, uwundi na wo ukaba wari ibubamfu bwa nya kabande. Abantu b’Abasaba-i babwiwe bati: “Nimufungure rero mu bibabeshaho mwaronkejwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyishimire, mwahawe igihugu gihimbaye c’akanovera n’akayaga keza, mugira n’Imana Nyenimbabazi-ntangere Allah”."},{"id":16,"translation":"Ni ho rero Abasaba-i birengagiza amabwirizwa no gushimira Imana Allah, barahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, Duca Tubarungikira imyuzurire isenyura rwa rugomero, ihitana na ya mirima ibiri itotahaye, ahari nya mirima Tuhasubiriza iyindi mirima ibiri imera ivyamwa vy’umururazi binuka kubi, irimwo n’ibiti vy’inkokore bitagira ivyamwa namba, hamwe rero n’ibiti bike vya Sidiri bifise amahwa menshi."},{"id":17,"translation":"Icabakuye amata mu kanwa, bakarumanga bahora basomera, ni ubugarariji bwabo no kudashimira Imana Allah. Burya Twebwe Allah, ntiduhana ngo duhashe kiretse abimonogoje mu bugarariji no mu kwihakana inema zacu."},{"id":18,"translation":"Twaranashize ibisagara vy’urutavanako hagati y’igihugu c’Abasaba-i n’uducimbiri Twahezagiye muri Shaamu, Tugira n’urugendo hagati y’igisagara n’ikindi kuba urugendo rworoshe, ruzwi igituro ruherako n’ikiringo rumara, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimwishire mwizane rero mutekaniwe mu ngendo mugira hagati y’ivyo bisagara, maze muzigire ku mwanya wose mwipfuza, haba mw’ijoro canke ku murango”."},{"id":19,"translation":"Bamaze kworoherwa mu buzima bakarengwa, bavuze n’agahimbo n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dushirire kure na kure ibituro vy’ibisagara vyacu, maze dufate urugendo rurerure ata gituro ducako mu nzira turonkerako induhuro canke impamba”. Ni ho rero birenganya mu kugarariza, Duca Turabahana, maze Tubagira inkebuzo n’akayazwe ku bakurikiye mu nyuma, Turaheza Turabashwiragiza nya kubashwiragiza. Mu vy’ukuri mu vyashikiye Abasaba-i, ni ukuri harimwo ivyemezo n’inkebuzo ku muntu wese yigumya mu vyago, ashima inema z’Imana Allah."},{"id":20,"translation":"Ni ukuri Ibilisi, yaribwiye ko azohubisha Bene Adamu bakamwumvira mu gucumura ku Mana Allah, maze icipfuzo ciwe kuri bo kija mu ngiro, Bene Adamu baramwumvira, kiretse umugwi w’abemeramana bagamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo."},{"id":21,"translation":"Hamwe n’ivyo rero, Ibilisi nta bubasha afise bwo guhatira abagararije ku bugarariji, ariko mu vyagezwe, aratera inyoshambi Bene Adamu, kugira Twebwe Allah Tugaragaze mu vyo Dusanzwe Tuzi, uwemera n’uwutemera afise amakenga kw’ihembwa ry’ibiremwa n’izurwa ryavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ikintu cose mu bikorwa vy’ibiremwa, kandi Izokibihembera."},{"id":22,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nimusabe abo mwibaza ko babangikanije[5] n’Imana Allah mukabasenga mu gishingo cayo, muheze rero mubiture mu kubasaba ngo babatunganirize ivyanyu. Eka ntibazobumvira namba kuko ata co bagaba haba mu majuru, haba no mw’isi, n’aho coba kingana n’akanyegeri; eka nta n’ico babangikanijeko n’Imana Allah mu biri mu majuru no mw’isi; bitayeko, nta n’umwe muri bo yobera Imana Allah umufasha mu kurema, ahubwo Imana Allah ni Imwe Rudende mu bumana no mu kurema kwayo, Ikwiye gusengwa rero ari Imwe Rudende Itabangikanywa”.","footnotes":"[5] Mu bigirwamana vyo mu bwoko bwose; vyaba mu bamalayika canke mu bantu, canke mu bindi mwibaza."},{"id":23,"translation":"Nta vugira ry’umuvugizi rizogira ico rimariye ikiremwa ku Mana Allah, kiretse ivugira ry’uwurekuriwe na Yo. Iyo rero Imana Allah Ihishuye amajambo yayo, maze ibiremwa vyo mu majuru bikumva nya hishurwa, birahinda agashitsi bikanahakwa kugwa igihumura ku kuyubaha. Bimaze rero guturura bigatekana, umutima ugasubira mu nda, bica bibazanya hagati yavyo biti: “Mbega yemwe! Aha munyumvira Imana yanyu Rurema Allah Ihishuye Ivuga iki?”. Abamalayika bagaca bishura bavuga bati: “Yahishuye Ivuga ukuri kudahinyuzwa, kandi ni Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru”."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Abaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere; n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi n’ibindi!”. Bazoheza bishure ata gukekereza ko ari Imana Allah. Nibatishura kubera ubugugu bwabo, urababwira uti: “Ni Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho; kandi mu vy’ukuri, hagati yacu, harimwo umugwi uri mu burongozi canke uri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana rero uti: “Ntimuzobazwa namba ku vyaha vyacu, eka na twe nyene ntituzobazwa ku vyo mwakoze, bitayeko nta n’ico duhuriyeko na mwe”."},{"id":26,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana yacu Rurema Allah, Izotwegeraniriza hamwe twese ku musi w’izuka, hanyuma Iducire urw’ukuri rutunganye, ni na Yo Mugomorozi Ikaba n’Umucamanza Atunganiriza bikwiye ibiremwa, ni na Yo Izi urwo Izoducira”."},{"id":27,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimunyereke mwisunze ivyemezo, ko abo mwanganishije n’Imana Allah mukayibangikanya na bo mu gusengwa, boba hari na kimwe bashoboye kurema!”. Eka barahumba nibateshwe bate, si nk’uko bavyibaza! Ahubwo Imana Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ni Allah, Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":28,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntitwanakurungitse kiretse ku bantu bose, kugira ubashikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazoronka Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’Imana Allah, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ivyiza biri mw’irungikwa ryawe kuri bose."},{"id":29,"translation":"Ababangikanyamana bavuga batebura bati: “Iryo sango ry’umusi w’izuka n’iyegeranywa ry’ibiremwa, rizoshika ryari ga Muhama? Wewe n’abemeramana muri kumwe, nimwaba muri imvugakuri, nimutubwire isango ry’uyo musi!”."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Murafise isango mwagenewe ryo kwegeranirizwako ku musi w’izuka; iryo sango rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato ngo mwigaye, eka ntihazonashika ko mwegeranywa ritaragera”."},{"id":31,"translation":"Abagararije na bo bavuze bati: “Ntiturota twemera iyi Qor’ani, eka ntitunarota twemera n’Ibitabu vya Tawurati, Injili na Zaburi vyamanuwe imbere yayo”. Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganije mu kugarariza bahagaritswe imbere y’Imana yabo Rurema Allah kugira Ibaharurire, baharira hagati yabo mu gutanako imiragwe, wobonye igitangaza giteye ubwoba; aho abacinyijwe bavuga babwira abagize amanyama bakihambaza mu kubahubisha bati: “Iyo hataba mwebwe mwaduhubishije, ni ukuri twari kuba abemeramana koko”."},{"id":32,"translation":"Abagize amanyama bakihambaza, bazoheza babwire abacinyijwe mu guhubishwa bati: “Mbega burya, ni twebwe twabahubishije inzira y’ukwemera inyuma y’aho ibashikiriye! Eka murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwari abanyavyaha kuko mwagararije ku bushake bwanyu”."},{"id":33,"translation":"Abacinyijwe, bazoheza babwire abagize amanyama bakihambaza bati: “Ahubwo iturubika n’agacinyizo mwadukorera ijoro n’umurango, ni vyo vyatumye tugwa mu kaga, mwatubwiriza kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya mu kuyisenga”. Umugwi wose rero muri iyo migwi yompi, uzokwiyorobeka mu guhisha ukwicuza kwawo igihe wabonye ibihano biwurindiriye. Tuzoheza rero Twebwe Allah Tubohe n’iminyororo mw’izosi abagararije. Ntibazohembwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa kiretse ku vyo bakoze kw’isi."},{"id":34,"translation":"Ntitwigeze Dutuma Intumwa irarikira abantu bo mu gacimbiri kanaka kwemera Imana Imwe Rudende Allah, ikanabagabisha ku bihano vyayo, kiretse ko abatewe iteka bagatwarwa n’ivy’isi, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri ga mwa Ntumwa mwe! Twebwe turagararije ivyo mwarungikanywe”;"},{"id":35,"translation":"Bakinamura n’amanyama n’akantu bati: “No mu vyerekana ko Imana Allah Itwishimiye, ni uko Yaduteye iteka mu kuturonsa amatungo n’abana benshi kubasumba, kandi rero ntiturota duhanwa, haba ng’aha kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":36,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo, umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo ku mvo z’igeragezwa; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko bageragezwa mu kuronswa abana n’ibibabeshaho kw’isi”."},{"id":37,"translation":"Amatungo hamwe n’abana vyanyu, si vyo bibahesha icubahiro bikanabegereza kuri Twebwe Allah; ariko abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, abo ni bo bagenewe impembo y’ivyo bakoze igwijwe incuro nyinshi, ni na bo rero bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bwisununuye, batekaniwe."},{"id":38,"translation":"Nayo abakoresha urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, bagahakana n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bakaburagiza n’abantu kwinjira mw’idini, bibwira ko bazotunanira Twebwe Allah; abo, ni bo bantu rero bazoshirwa mu bihano vy’umuriro wa Jahannamu, bazoba bacungerewe n’abamalayika bajejwe kuwucungera “Al-Zabaaniya”."},{"id":39,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahendwa n’ubwinshi bw’amatungo n’abana uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo ku mvo z’igeragezwa. Ico ari co cose rero mutanze ku bw’Imana Allah, Iraheza Ikakibasubiriza mu ndumane kw’isi, Ikazonakibahembera mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na Yo rero Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa[6].","footnotes":"[6] Nimusabe rero ibibabeshaho Imana Allah Yo Yonyene, muheze muronderere mu birekuwe mu buryo burekuwe."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yegeranirije hamwe ababangikanyamana n’abo basenga mu bamalayika mu gishingo cayo, hanyuma Ikabwira abamalayika mu gutetereza ababasenga Iti: “Mbega aba, ni mwebwe basenga mu gishingo canje?”;"},{"id":41,"translation":"Abamalayika bagaheza bakishura bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana, ntibikabe ko Ubangikanywa! Ni Wewe Muhagarikizi wacu twumvira tugasenga. Ahubwo bahora basenga ibigirwamana mu Majini kuko abenshi muri bo, ni yo bemera”;"},{"id":42,"translation":"Kuri uyo musi w’iyegeranywa rero, ibigirwamana nta co bizomarira ababisenga, eka nta n’ico bizobicira. Tuzonabwira abirenganije mw’ibangikanyamana, Duti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro mwahora muhakana mwivuye inyuma ko utabaho”."},{"id":43,"translation":"Iyo abagarariji b’i Makka basomewe Aayah zacu za Qor’ani zitomoye, bavuga bati: “Uyu Muhamadi, si ikindi, kiretse ko ari umuntu agomba kubabuza isengwa ry’imana zamye zisengwa na ba so kuva na kera na rindi”; bakongera bakavuga bati: “Muhama! Iyi Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari amajambo yawe y’irementanya, si n’ayo wahishuriwe namba”. Abagararije na bo, barinamuye igihe bashikiwe na Qor’ani bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y'Imana! Twebwe Allah, ntitwigeze Tumanurira abagarariji b'i Makka imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, ibitabu basomamwo ko Qor’ani wahishuriwe ari uburozi, eka nta n’Intumwa Twabarungikiye imbere y’irungikwa ryawe, ibagabisha ku bihano vyacu."},{"id":45,"translation":"Abantu bo hambere y’abagarariji b’i Makka, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zacu, ntitwanahaye abagarariji b’i Makka n’ica cumi c’ivyo Twahaye abo hambere y’abo; mu nguvu n’inkomezi, mu bwinshi bw’amatungo no kuramba, n’ibindi; baraheza rero barahakana bivuye inyuma Intumwa zanje Jewe Allah, Nca Ndabahonya. Mbega none ukubihaniza kwanje Jewe Allah kutangarariza, kwabashikanye kuki atari ibihano!"},{"id":46,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakanyi uti: “Ni ukuri jewe, ndabahanuye ko mugira ikintu kimwe; ko muhagurukira iyumviramana muri babiribabiri n’umwumwe, hanyuma mwiyumvire ku vyo muvuga kuri mugenzi wanyu[7], eka ntiyigeze akeherwa n’ubwenge namba, we si ikindi atari Umugabisha kuri mwebwe, ko mwokwiyubara ibihano bikaze vy’umuriro wa Jahannamu, maze mukavyirinda bitarabashikira”.","footnotes":"[7] Ari we Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":47,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndigera ndabasaba kw’ishikirizabutumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, ni na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera”."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bagahakana n’ubwislamu, uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Iragaragaza ukuri maze ikinyoma kigatekuruka, ni Yo rero Izi neza ibinyegejwe ibiremwa, nta kiyinyegeje mw’ijuru no mw’isi”."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ukuri kw’amabwirizwa y’ubwislamu kwaramaze kuja ahabona, ikinyoma c’ubugarariji na co kiraheza kirazimangana, kigenda amazimayongo, ntikiriko kiragaruka bushasha kandi ngo gitanguzwe”."},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Ninaramuka mpuvye inzira y’ukuri, ni jewe nyene nzobihanirwa; ninatumbera inzira igororotse nisunze ivyo nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah ni Nyenukwumva, Irumva neza ivyo mvuga, Iri na hafi cane y’uwuyisenga akayisaba”."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji batekewe n’ubwoba igihe babonye ukuri kwamye ibihano vy’Imana Allah, wobonye igitangaza giteye ubwoba; aho ata saganirizo, ata n’ubuhungiro bw’ibihano bazoronka, maze bafatwe batabwe mu muriro;"},{"id":52,"translation":"Bamaze kubona nya bihano rero, bazoca bavuga bati: “Twemeye Imana Allah, twemeye n’Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo”. Bishoboka gute ko bashika ku kwemera mu buzima bw’inyuma yo gupfa kandi baramaze kugera kure aho bitagikunda!"},{"id":53,"translation":"Ni ukuri baragararije Imana Allah, Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo bakiri kw’isi; barondera gushika ku kuri kandi bari mu makenga abata kure yakwo, maze baraguhusha ntibagushikira; nka kurya ata wugema ikintu kandi ari kure cane yaco."},{"id":54,"translation":"Ico gihe rero, abagarariji ntibazokwemererwa gushika ku cipfuzo cabo co kwigaya no kugaruka kw’isi ngo baheze bemere Imana Allah; nk’uko imigwi y’ab’aho hambere yabo itavyemerewe. Mu vy’ukuri bakiri kw’isi, bamana amakenga ateye impungenge ku vyerekeye ukwemera Intumwa, izurwa ry’ibiremwa no guharurirwa ku bikorwa vyavyo."}]},{"id":35,"verses":[{"id":1,"translation":"Nihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n’anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n’Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira."},{"id":2,"translation":"Ikintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":3,"translation":"Emwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":4,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abantu warungitsweko nibaguhakana bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri n’Intumwa zarungitswe hambere yawe, abantu zarungitsweko barazihakanye bivuye inyuma, kandi impera n'imperuka ibiremwa vyose bizosubira ku Mana Allah, kugira Ihembe umwumwe wese muri vyo ku rugero rw’ibimukwiye."},{"id":5,"translation":"Emwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;"},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe."},{"id":7,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":8,"translation":"Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera."},{"id":9,"translation":"Imana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugaheza ugasunika ibicu vy’imvura, maze Twebwe Allah Tukabirungika ahari isi yagadutse igacika ubukumbagare, maze imvura ikahagwa, isi na yo igasubira kunaga igatotahara inyuma y’aho yari ubukumbagare. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Itotahaza isi y’ubukumbagare igasubira gutotahara - Izosubiza ubuzima ibiremwa vyapfuye bikazuka ku musi w’izuka."},{"id":10,"translation":"Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo[1]. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.","footnotes":"[1] Uwurondereye iteka n’icubahiro ku kiremwa nkawe, Imana Allah Iramusuzuguza; nayo uworondereye iteka n’icubahiro kuri Rurema Allah, Imana Allah Iramuha nya teka n’icubahiro."},{"id":11,"translation":"Bantu! Imana Allah Yaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomotseko Ibarema mw’ima ry’intanga, umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, hanyuma Ibagira abagabo n’abagore. Nta n’igitsina-gore rero gisama inda canke ngo kiyivyare, kiretse ku bumenyi bw’Imana Allah; nta n’uwuramba akamara imyaka n’iyindi, eka nta n’uwugabanirizwa imyaka yo kubaho, kiretse ko ivyo vyose biba vyanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Mu vy’ukuri iremwa ryanyu, kumenya ido n’ido ku buzima bwanyu imbere n’inyuma yuko muremwa, biroroshe cane ku Mana Allah."},{"id":12,"translation":"Hari amabahari abiri ahura atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; aho usanga amazi y’iri bahari afise akanovera, atemba neza mu muhogo akamara n’inyota; ugasanga amazi y’irindi bahari bihura ari amazi y’icunyunyu; hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo, mw’ibahari rimwe ryose muri yo, muraroba mugafungura ifi zoroshe ziryoshe, mukanacukura ubutare butandukanye muhinguramwo ibisharizo mwambara mukaberwa; uzobona n’ubwato amahanga bugendera mu mazi mu ruja n’uruza rw’urudandazwa, kugira murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, ivyo vyose rero bikerekana ubushobozi bwayo kugira muyishimire ari Imwe Rudende."},{"id":13,"translation":"Imana Allah Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Yagize izuba n’ukwezi mwikorako kuba kimwe cose muri vyo gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Iyo rero, ni Yo Mana Allah, Imana yanyu Rurema Nyenubwami, nayo ivyo musaba mu gishingo cayo, nta kintu na kimwe bigaba n’aho coba kingana n’agashishwa kari ku rutete rw’itende."},{"id":14,"translation":"Emwe bantu! Iyo musavye ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ntivyumva igisabisho canyu. N’iyo vyobaye vyumva nya gisabisho, ntivyobaha ivyo musavye; mbere no ku musi w’izuka, bizokwamirira kure ibangikanyamana ryanyu. Ntumwa y’Imana! Nta wokubwira inkuru y’ukuri yoza asumba Muhetuziwavyose Allah."},{"id":15,"translation":"Emwe bantu! Mwebwe mukeneye Imana Allah muri vyose, nta na kimwe mwikenuyeko ku bwanyu, burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo;"},{"id":16,"translation":"Ishatse rero, Yobahonya mukagenda mwese amazimayongo, Igaheza Ikazana ibindi biremwa biyumvira bikayisenga Yo Yonyene Itabangikanywa."},{"id":17,"translation":"Kandi ihonywa ryanyu n’isubirizwa ryanyu n’ibindi biremwa, ntivyonanira Imana Allah, ahubwo mbere biroroshe cane kuri Yo."},{"id":18,"translation":"Nta munyavyaha azohanirwa ivyaha vy’uwundi. Uwuzoremerwa n’ivyaha, maze agasaba ko hogira uwumwakira mu kumuremururira umutwaro w’ivyaha, ntazoronka n’umwe amwakira ngo amuremurure n’icaha na kimwe, n’aho yoba ari incuti ya hafi basangiye amaraso; nka se canke mwenewabo. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, ugabisha abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo. Uwuzokwiyeza mu kudacumura no mu kutabangikanya Imana Allah, azoba yiyejeje ku neza yiwe. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":19,"translation":"Nta ho vyakabaye ko igipfamaso mu kutabona ukuri, gishobora kungana mu butore n’umuntu abona agakurikira inzira y’ukuri;"},{"id":20,"translation":"Eka n’umuzimagiza w’ubugarariji nta ho usa usana n’umuco w’ukwemera;"},{"id":21,"translation":"Eka n’agatutu gapfutse ntigashobora kuba nk’umuyaga w’akayagirizo;"},{"id":22,"translation":"Eka n’ababayeho ubuzima bw’ukwemera nta ho basa basana n’ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irumvira Ikakirira uwo Ishatse mu biremwa. Ntumwa y’Imana! Kurya wewe udashoboye gutuma abari mu mva bumva, ni ko udashoboye gutuma ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji vyumva;"},{"id":23,"translation":"Burya wewe, nta kindi ujejwe atari ukugabisha ku bihano vy’Imana Allah."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungikanye idini ry’ukuri, kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru; wongere ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Nta mugwi n’umwe w’abantu wabayeho rero, kiretse ko warungikiwe Umugabisha ku bihano vy’umuriro."},{"id":25,"translation":"Ababangikanyamana baramutse baguhakanye bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri abantu b’aho hambere yabo, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, hamwe n’uko zaje zifise ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, zibangikanije n’Imizingo y’ibitabu irimwo inyigisho hamwe n’Ibitabu bitomora inzira y’ukuri."},{"id":26,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Jewe Allah Nafata abagararije Ndabahana bikwiye. Ehe raba rero Ntumwa y’Imana, ukuntu Nabihanije kutagarariza ntibumva, Nca Ndabahana!"},{"id":27,"translation":"Mbega ntiwabonye ko Imana Allah, Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Turaheza Twebwe Allah, Tumeresha ibiti vy’ivyamwa bitandukanye kw’ibara hakoreshejwe nya mazi; nk’ibitukura, ivyirabura n’ivy’umuhondo, n’ibindi; Turema no mu misozi, imisozi ifise agataka kera, n’iyifise agataka k’umuhondo utandukanye kw’ibara, hamwe n’iyindi misozi rero ifise agataka kirabura tsiritsiri!"},{"id":28,"translation":"Twaremye no mu bantu, mu nyamaswa n’ibigendagenda mw’isi no mu bitungwa, ibitandukanye kw’ibara; nk’ibitukura, ivyera n’ivyirabura, n’ibindi. Ni ukuri, abatinya ibihano vy’Imana Allah bakavyirinda, ni abamenyi bazi Imana Allah ku biyiranga mu mazina n’amatazirano yayo, no mu bushobozi bwayo bwo kurema ibitandukanye kw’ibara kandi inkomoko yavyo ari imwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere."},{"id":29,"translation":"Mu vy’ukuri, abasoma Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani bakagendera n’amabwirizwa yaco, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga no mu vyo Twabaronkeje mu buryo butegetswe canke biyemeje mu mpisho no ku mugaragaro, bagakora ivyo vyose barondera urudandazwa rutigera ruhomba ku Mana Allah;"},{"id":30,"translation":"Izobaha impembo z’ibikorwa vyabo itagabanijwe, Yongere Ibagwirize ku mpano zayo ivyiza vyabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga."},{"id":31,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ivyo Twaguhishuriye muri Qor’ani, ni kwo kuri kudahinyuzwa gushimangira Ibitabu vyahishuriwe Intumwa zo hambere yawe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyerekeye abaja bayo, Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa vyabo, kandi Izobibahembera."},{"id":32,"translation":"Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twebwe Allah, Twahaye Igitabu ca Qor’ani abo Twahisemwo mu baja bacu, barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Muri bo rero, harimwo uwirenganya mu gucumura, harimwo n’umugororotsi yubahiriza amabwirizwa; hakabamwo rero, n’uwihutira gukora ivyiza bitegetswe n’ibimutonesha ku Mana Allah ku burenganzira bwayo. Ihabwa ry’ico Gitabu rero, ni yo ngabirano nta ngere."},{"id":33,"translation":"Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, yagenewe kwinjirwamwo abahawe ico Gitabu. Muri Bwo, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[2], bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire, abagabo ku bagore.","footnotes":"[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane."},{"id":34,"translation":"Mu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi;"},{"id":35,"translation":"Ni Yo Yatwakiriye mw’icumbi ry’Ubwami ku ngabirano zayo, aho tutazokwigera turuha, eka ntituzonadebukirwa”."},{"id":36,"translation":"Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bategekanirijwe umuriro wa Jahannamu, aho batazokwigera bapfa ngo bawuruhuke; eka ntibazonatezurirwa mu bihano vy’urutavanako, ni nk’ukwo rero Twebwe Allah, Duhana uwimonogoje mu bugarariji."},{"id":37,"translation":"Abagarariji, bamaze kurengerwa n’ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bazotabaza n’agahinda n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri uwu muriro, maze Udusubize kw’isi duheze dukore ivyiza bitegetswe tutigeze dukora mu buzima”. Imana Allah Izobishura Iti: “Mbega Twebwe Allah, ntitwabahaye kubaho mukaramba ikiringo cari gikwiye, ari uwikebuka akikebuka, Tukanabarungikira n’Umugabisha mu Ntumwa zacu abagabisha ku bihano vyacu! Hamwe n’ivyo vyose, ntimwigeze mwikebuka. Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro wa Jahannamu. Burya abirenganya mu kugarariza, nta n’uwubatabara mu kubakingira ibihano bafise”."},{"id":38,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi, ni Yo mu vy’ukuri, Izi neza ibinyegejwe mu mishaha y’ibiremwa[3].","footnotes":"[3] Nko kugira amakenga mu mushaha w’umuntu mu kwemera isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, canke mu kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), canke mu kutubahiriza amabwirizwa ku bitari ivyo."},{"id":39,"translation":"Emwe bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye kubaho mukurakuranwa kw’isi. Uwo wese rero agararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ahanirwa iryo garariza ku gatwe kiwe. Burya igarariza ry’abagarariji, nta co ribongerereza ku Mana yabo Rurema Allah, atari ugushavurirwa; eka no kugarariza kwabo Imana Allah, nta co kubongerereza kiretse agahombo no guhona."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Nimumbwire ku vyerekeye ubushobozi bw’abo mubangikanya n’Imana Allah mukabasaba mu gishingo cayo, mbega mwonyereka na kimwe baremye kw’isi! Canke boba barafadikanije n’Imana Allah mu kurema amajuru!”. Canke Twebwe Allah, Twoba Twarabahaye Igitabu bisunga mu kwemeza ibangikanyamana! Ahubwo rero, abirenganya mu bugarariji, nta sezerano bahana hagati yabo kiretse uruhendo”."},{"id":41,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya."},{"id":42,"translation":"Abagararije mu bwoko bw’Abakorayishi, bararahiye bararengwa kw’Izina ry’Imana Allah, indahiro zitabaho, ko mu gihe boshikirwa n’Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, bazomwumvira bakaba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara. Igitangaje rero, ni uko bamaze gushikirwa n’Umugabisha Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ata co vyabongerereje kiretse ubugaba bwo kutikebuka, guhonyanga no kwamirira kure ukuri."},{"id":43,"translation":"Ntibarahiye rero bemanga ukuri, ahubwo barahiye ku mvo zo kugira amanyama no kwihambaza ku bantu kw’isi, barondera gukwiragiza ubwononyi; kira noneho inkurikizi y’ubwononyi, igaruka kuri bene bwo. Mbega abakwiragiza ubwononyi kw’isi, hoba hari ikindi barindiriye atari uguhanwa nk’ab’aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abagarariji bagenzwa n’ubwononyi."},{"id":44,"translation":"Mbega abagarariji b’i Makka, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Kandi bari n’abantu bafise n’inguvu kubarusha[4], baragararije Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, nta na kimwe coyinanira ngo gicaruke aho coba kiri hose mu majuru canke mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, Mushoboravyose, Irashoboye no kubihonya.","footnotes":"[4] Nka Bene Aadi na Bene Thamuudi."},{"id":45,"translation":"Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku vyaha vy'ivyo barondeye, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, Izohanira umwe wese ku vyo yakoze, mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Ibona neza ibikorwa vy’abaja bayo, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera."}]},{"id":36,"verses":[{"id":1,"translation":"Yaa Siin[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyo Qor’ani itomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa;"},{"id":3,"translation":"Ndarahiye mu vy’ukuri, ko wewe Muhamadi uri Intumwa mu Ntumwa z’Imana zahishuriwe zikarungikwa kurongora ibiremwa;"},{"id":4,"translation":"Uri mu nzira y’Imana Allah igororotse y’ubwislamu;"},{"id":5,"translation":"Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo!"},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Warungikanwe Qor’ani, kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah, abantu ba se babo batagabishijwe igihe kirekire, baraheza rero baragotwa ntibemera[2];","footnotes":"[2] Iyi Aayah, ihimiriza abamenyi mw’idini, ko bategerezwa kwama bibutsa abantu, kugira ntibagotwe ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":7,"translation":"Ni ukuri abenshi muri bo, bakwiye guhanwa ku kurendegera mw’ibangikanyamana, mu gihe bagabishijwe bagahakana, ntibemera Imana Allah n’Intumwa yayo ngo bakore n'ivyiza bitegetswe;"},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire."},{"id":9,"translation":"Imbere yabo n’inyuma yabo hose, Twebwe Allah Twarahakingiriye baraheza baba nk’uwugariwe inzira imbere n’inyuma yiwe, maze Duhumya n’amaso yabo, ntibashobora kubona n’inzira ibarongora ku kuri, kubera amanyama n’ubugarariji vyabo[3];","footnotes":"[3] Ukudashobozwa kubona ukuri ngo ugukurikire, ni co gihano c’uwo wese agira amanyama mu kugarariza ukuri."},{"id":10,"translation":"Kuburira abagarariji rero no kutababurira, vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Wewe mu vy’ukuri, igabisha ryawe ryungura uwemera Qor’ani akubahiriza n’amabwirizwa yayo, akanatinya ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe ari ahiherereye. Uyo rero, mushikirize inkuru nziza ihumuriza, ko azogumirizwa akabanga ku vyaha vyiwe, aheze ababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza[4] canke ibibi[5], kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.","footnotes":"[4] Nk’umwana basize, ubumenyi bwungura abantu n’imperezwa ifise indishi zibandanya.\n[5] Nk’ibangikanyamana canke ibicumuro babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi kandi baramaze gupfa."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana baguhakana, bacire agace k’abantu bigeze kuba mu gacimbiri kari aho, igihe bashikirwa n’Intumwa;"},{"id":14,"translation":"Igihe Twebwe Allah Tubarungikiye Intumwa zibiri, kugira zibararikire isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah bakazihakana bivuye inyuma, Duca Tuzitera intege mu kurungikwa kw’Intumwa igira gatatu, nya Ntumwa uko ari zitatu zikavuga ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe turi Intumwa zarungitswe kuri mwebwe”."},{"id":15,"translation":"Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bazishura bati: “Mwebwe nta kindi muri, kiretse ko muri abantu nkatwe, kandi Nyenimpuhwe Allah ntiyabahishuriye na kimwe, mwebwe nta co muri kiretse ko mubesha”."},{"id":16,"translation":"Nya Ntumwa ziraheza zishura zishimitse ziti: “Imana yacu Rurema Allah, Irazi neza ko mu vy’ukuri twarungitswe kuri mwebwe;"},{"id":17,"translation":"Kandi twebwe nta co tujejwe, atari ukubashikiriza gusa ubutumwa butomoye. Ntitujejwe kubahatira ukwemera”."},{"id":18,"translation":"Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bavuga bati: “Mu vy’ukuri, mwaduteye umwaku, nimutavavanura no kuturarikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri tuzobicisha amabuye, kandi ni ukuri tuzobaha ibihano bibabaza”."},{"id":19,"translation":"Za Ntumwa ziraheza zishura ziti: “Umwaku nyabuna, muwuterwa n’ibangikanyamana hamwe n’ibikorwa vyanyu bibi. Mbega none kwibutswa ku neza yanyu, ni co cotuma tubatera umwaku mukanadutera ubwoba bwo kwicishwa amabuye no guhanwa! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu bugarariji”."},{"id":20,"translation":"Ni ho rero hirya y’igisagara, hava umuntu aje anyaragasa, inyuma y’aho yumviye ko hari umugambi wo kwica nya Ntumwa canke kuzihana, araheza abwira ba bantu bo mu gacimbiri abinginga ati: “Emwe bantu banje! Enda nyabuna rero, nimukurikire Intumwa mwarungikiwe n’Imana Allah;"},{"id":21,"translation":"Nimukurikire Intumwa zitigera zibasaba impembo kw’ishikirizabutumwa ryazo; kanatsinda, izo Ntumwa ni n’abagororotsi mu vyo zibararikira;"},{"id":22,"translation":"Mbega nobuzwa n’iki gusenga Imana Allah Yandemye, hakaba ari no kuri Yo jewe na mwe tuzosubira!"},{"id":23,"translation":"Vyoshoboka gute ko nsenga mu gishingo cayo ibigirwamana ata na kimwe bimaze, mu gihe Nyenimpuhwe Allah Yoshaka ko nshikirwa n’inabi, nya bigirwamana bidashobora kunkingira canke ngo bintabare;"},{"id":24,"translation":"Mu vy’ukuri, mu gihe nohirahira nkabangikanya Imana Allah, ni ukuri noba ndi mu buhuvyi bugaragara;"},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri, jewe nemera Imana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, nimwumve impanuro ndabahaye muheze mwemere”. Ni ho rero, ba bantu bo mu gacimbiri baca bamusimbirako baramwica;"},{"id":26,"translation":"Maze yakirwa mu Bwami bw’ijuru abwirwa ati: “Kaze, niwinjire mu Bwami bw’ijuru”. Araheza avuga ari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru ati: “Ese iyo abantu banje bamenya iherezo ryanje ryiza;"},{"id":27,"translation":"Ese iyo bamenya ukuntu Imana yanje Rurema Allah Yambabariye ivyaha vyanje, Ikanantera iteka ryo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, na bo bagaheza bakayemera maze Ikabinjiza mu Bwami bw’ijuru!”."},{"id":28,"translation":"Mu nyuma y’aho abantu biwe biciye umuhanuzi yaje kwamama ko batohirahira ngo bice Intumwa, bakanazihakana bivuye inyuma, ntitwashotse Tubamanurira ingabo mu kubahana, eka ntivyari binakenewe kubamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru ngo babahane, ariko Twabarungikiye ibihano birabahonya."},{"id":29,"translation":"Ihonywa ryabo rero ntiryabaye ukundi, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya, ubwo nyene bose bapfira rimwe, basigara ari ibiziga vyibereye ng’aho."},{"id":30,"translation":"Ese agahombo n’ukwicuza vy’akataraboneka bizoshikira abagararije ku musi w’izuka, igihe biboneye ibihano ukuri kwamye! Ntibashikirwa n’Intumwa n’imwe irungitswe n’Imana Allah, kiretse ko bayiteburako bakayisuzugura."},{"id":31,"translation":"Mbega abatebura ku Ntumwa bakazihakana, ntibabona ko Twebwe Allah, Twahoneje imigwi myinshi y’abahakanye Intumwa hambere yabo, n’uko nya migwi itazogenda igarutse kandi kw’isi mu nyuma y’ihonywa ryayo!"},{"id":32,"translation":"Nta n’umwe rero mu bantu, yaba mu migwi Twahoneje canke mu yo Tutahoneje, kiretse ko iyo migwi yose izokwegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, ku musi w’izuka kugira iharurirwe, iheze ihemberwe ivyo yakoze."},{"id":33,"translation":"Icemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ishoboye kuzura abapfuye, ni isi yagadutse igacika ubukumbagare, aho Twebwe Allah, Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Tugaheza Tukayitotahaza, maze Tukayinagishako n’ibiterwa mbumbarugo vy’ubwoko butandukanye, hakoreshejwe amazi ya nya mvura, abantu bagaheza bakabifungurako, bo hamwe n’ibitungwa vyabo;"},{"id":34,"translation":"Maze Tukagira n’imirima y’itende n’iy’imizabibu, Tugaca n’amariba y’amazi atemba kw’isi, kugira bavomere nya mirima."},{"id":35,"translation":"Ivyo vyose rero, Tubigira kugira abantu bafungure ku vyamwa vy’iyo mirima itanaga ngo itotahare ku bw’inguvu n’ubuhinga vyabo. Ubwo none ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo z'umurengera!"},{"id":36,"translation":"Nihaninahazwe rero Imana Allah Yaremye amoko yose y’ibiterwa n’ivyimeza kw’isi, Ikarema igitsina-gabo n’igitsina-gore no mu bantu nyene, no mu bindi biremwa rero batazi[6].","footnotes":"[6] Imana Allah rero, Yaremye ivyo vyose ata we Yifashishije, ntikwiye kubangikanywa na kimwe mu biremwa vyayo mu gusengwa."},{"id":37,"translation":"Biri no mu vyemezo vyereka ababangikanyamana, ko Imana Allah ari Imwe mu bumana no mu bubasha bwayo; ijoro Twebwe Allah Dukurako umuco w’umurango, maze aho baherereye bagaca baja mu muzimagiza waryo;"},{"id":38,"translation":"N’izuba rigendera aho ryagenewe n’Imana Allah, ntirirenga canke ngo riseruke hataragera. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutananirwa, Nyenubumenyikurivyose;"},{"id":39,"translation":"N’ukwezi nyene, Twebwe Allah, Twakugeneye ibituro vyakwo buri joro, aho mu mboneko zakwo kuba ari guto, kukagenda kurakura gushika n’aho kwiburungushura mu mfato, hanyuma kugatangura kugabanuka bukebuke mu mpito, gushika n’aho kungana n’agati k’itende kumye, kagahishira kakigonda."},{"id":40,"translation":"Izuba rero, ntirishobora guta inzira yaryo ngo riseruke mw’ijoro, riheze rizimanganye umuco w’ukwezi; eka n’ijoro nyene, ntirishobora kwijima imbere yuko umurango urengana. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo."},{"id":41,"translation":"Hari n’ikindi cemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, ni uko Twebwe Allah, Twarokoye mw’isegenya bamwe mu ruvyaro bakomokako rwa Adamu, maze Tubarerura mu bwato bwa Nuhu bwari burimwo amoko atandukanye y’ibiremwa vyose vy’igitsina-gabo n’igitsina-gore, ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye biba intango y’ukurondoka bushasha;"},{"id":42,"translation":"Twaranaremeye abo babangikanyamana n’abandi, ibindi bibunguruza nk’ubwato bwa Nuhu[7].","footnotes":"[7] Haba mu kwiyunguruza imusozi canke mu mazi."},{"id":43,"translation":"Mu gihe Twoshaka rero, Twobasomesha nturi bari mw’ibahari, nta n’uwobatabara muri ico gihe, eka na bo nyene ntiborokotse;"},{"id":44,"translation":"Kiretse mu gihe Twobagirira impuhwe Tukabarokora, maze Tukabaha kuryoherwa gato mu buzima bw’isi gushika kw’isango rizwi kugira bikebuke."},{"id":45,"translation":"Ababangikanyamana iyo babwiwe bati: “Nimwiyubare intureka zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’ivyago vyo mu buzima bwo kw’isi, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah”, baraheza bakavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa."},{"id":46,"translation":"Ababangikanyamana, ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, kugira kibarongore mu nzira y’ukuri, kiretse ko bacirengagiza bakirabira hirya, maze kikababera impfagusa."},{"id":47,"translation":"Abagarariji na bo, iyo babwiwe bati: “Nimutange mu matungo, Imana Allah Yabaronkeje”; baca bigovyora babwira abemeramana bati: “Vyoshoboka gute ko dufungurira umuntu, Imana Allah Ishatse Yari kumufungurira! Bemeramana! Mwebwe nta co muri, kiretse ko muri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”."},{"id":48,"translation":"Abagarariji, barinamuye mu guhakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Muhama! Mbega ubona iryo sango ryo guhanirwako ku musi w’izuka, rizoshika ryari nimwaba wewe n’abemeramana muri kumwe, muri imvugakuri?”."},{"id":49,"translation":"Abagarariji bihutira gusaba ibihano, nta n’ikindi barindiriye kugira bahanwe, kiretse ivuzwa ry’inzamba y’umuhero w’isi, uzobashikira giturumbuka ata n’uwo bari biteze, ukabasanga bari mu mpari bahazana mu vy’isi;"},{"id":50,"translation":"Ico gihe rero, ntibazoshobora no kugira uwo baraga n’ikintu na kimwe, eka ntibazoshobora no kugaruka mu miryango yabo, bazopfira aho bazoba bari;"},{"id":51,"translation":"Inzamba igira kabiri izoheza ivuzwe, ibiremwa bice bisubizwa ubuzima, ubwo nyene bive mu kuzimu, maze bigende binyaragasa ku Mana yavyo Rurema Allah;"},{"id":52,"translation":"Abahakanye bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bace bavuga bicuza bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni nde ga ntuze atuzuye akadukura aho twari twibereye!”; ubwo nyene bace bishurwa bati: “Iri, ni rya sango mwasezeranirwa na Nyenimpuhwe Allah, mugashikirizwa n’Intumwa zayo ko ari iry’ukuri”."},{"id":53,"translation":"Izurwa ry’ibiremwa rero, nta n’ico risaba atari ivuzwa ry’inzamba igira kabiri, maze ibiremwa vyose bigaca vyegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze."},{"id":54,"translation":"Kuri uwo musi w’izuka rero, ibiremwa bizotunganirizwa vy’ukuri, nta muntu azorenganywa n’akantu inzatsa, mu kugabanyirizwa ivyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha. Eka ntimuzonahemberwa, kiretse ku vyo mwari mwarakoze kw’isi."},{"id":55,"translation":"Mu vy’ukuri, kuri uyo musi abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoba baryohewe n’inema z’ubwoko bwose, akamwemwe kabasya;"},{"id":56,"translation":"Bo hamwe n’abakenyezi babo, bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, basharamye mu gatutu katarenga;"},{"id":57,"translation":"Muri nya Bwami, bazoronswa amoko yose y’ivyamwa biryoshe, bazoronswa n’ivyo vyose bipfuza biryoshe;"},{"id":58,"translation":"Bazoronka n’iyindi nema ihambaye kuruta zose, indamutso y’amahoro bazoramutswa n’Imana yabo Rurema Nyenimbabazi[8].","footnotes":"[8] Ukuramutswa kwabo n’Imana Nyenimbabazi, kizoba ari co kimenyetso c’uko bari mu mahoro, iteka n’itekane vyamaho."},{"id":59,"translation":"Abagarariji kuri uyo musi, bazobwirwa bati: “Emwe banyavyaha! Kuri uno musi, nimwitandukanye n’abemeramana, muheze muje ukwanyu”;"},{"id":60,"translation":"Maze Imana Allah Iheze Ibabwire n’agashinyaguro n’akantu Iti: “Mbega bagarariji muri Bene Adamu! Sinabahaye amabwirizwa yanje Ndayacishije ku Ntumwa Nabarungikiye, ko mutosenga shetani ngo muyumvire, n’uko mu vy’ukuri shetani kuri mwebwe, ari umwansi agaragara;"},{"id":61,"translation":"Nkababwiriza n’uko munyiyegereza mu vyo mukora vyose mukanansenga mutambangikanya na kimwe mu biremwa, kuko iryo ari ryo dini rigororotse Nzobahembera Ubwami bw’ijuru!"},{"id":62,"translation":"Ni ukuri, shetani yarahubishije inzira yanje ibiremwa vyinshi muri mwebwe. Mbega babangikanyamana! Ntimwagira akenge ngo mutahure urwanko shetani ibafitiye ngo muheze muyirinde!"},{"id":63,"translation":"Uwu rero, ni wo muriro wa Jahannamu mwahora musezeranirwa mukiri kw’isi, ko muzowinjira nimwagarariza;"},{"id":64,"translation":"Nimuwinjire rero kuri uno musi, maze muwote ku kuntu mwagarariza;"},{"id":65,"translation":"Kuri uno musi rero, Twebwe Allah, Turazivya iminwa y’ababangikanyamana ntibashobore kurikura mu kanwa ngo bavuge, Duheze Tuvugishe amaboko yabo, maze avuge ibibi yakoze, amaguru yabo na yo abagirize ku bibi vyose baja gukora”."},{"id":66,"translation":"Mu gihe Twoshaka rero, ni ukuri Twobahumya n’amaso nk’uko Twazibije iminwa yabo, bagaheza bakitanganiza kuja kurengana ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro. None vyoshoboka gute kukirenganako, kandi barahumye amaso, batabona n’iyo baja!"},{"id":67,"translation":"No mu gihe Twoshaka, ni ukuri Twobahinduye indemo bakaguma aho bari batanyagaza; muri ico gihe, ntiboshoboye gutera intambwe n’imwe imbere canke ngo basubire inyuma."},{"id":68,"translation":"Uwo Duhaye kuramba bigashika akagera mu za bukuru, Turamutitura mu ndemo agasubira ibwana mu nyifato n’intege nke. Mbega abagarariji ntibogarura akenge ngo batahure ko Imana Allah Ishoboye kugira ivyo vyose, Ishoboye no kubazura!"},{"id":69,"translation":"Twebwe Allah, ntitwigeze Twigisha Intumwa Muhamadi kwivuga amazina, eka ntivyari binayikwiye namba ko iba umwivuzi w’amazina. Iki Gitabu yabazaniye, si ikindi kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku wushaka kwikebuka; kikaba na Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo;"},{"id":70,"translation":"Kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah, uwo wese afise umushaha utegera ugakurikira ukuri, maze ibihano vyagire abagarariji inyuma y’aho bashikiwe na Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma."},{"id":71,"translation":"Mbega abantu ntibabona ko Twebwe Allah, Twabaremeye ibitungwa ku neza yabo, Tubaha kubigaba no kubiganza;"},{"id":72,"translation":"Tubashoboza no kuvyikorako! Muri vyo rero; harimwo ivyo bikorako mu ngendo z’uruja n’uruza, no mu kwunguruza ivyankenerwa, harimwo n’ivyo baheza bagafungura."},{"id":73,"translation":"Baranafise n’ibindi bibafitiye akamaro bikomoka kuri nya bitungwa; nk’ubwoya n’insato, n’ibindi, hamwe rero n’amata banywa. Mbega abantu ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo, bagaheza bakayisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":74,"translation":"Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana, maze barabisenga barondera ko bibatabara bikabakingira ibihano vyayo;"},{"id":75,"translation":"Ivyo bigirwamana, ntibishoboye namba gutabara ababisenga, eka na vyo nyene nta co vyimariye. Ababangikanyamana hamwe n’ivyo basenga, bose bazokwegeranirizwa hamwe mu bihano batanako umwikomo."},{"id":76,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’igarariza hamwe n’itebura vyabo; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bakorera mu mpisho n’ivyo bakorera ku mugaragaro, Tuzoheza Tubibahembere."},{"id":77,"translation":"Mbega umuntu ahakana yivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ntabona ko Twebwe Allah, Twamuremye mw’ima ry’intanga, amaze gukura aca ahinduka umuharirizi ruhebwa;"},{"id":78,"translation":"Araheza aducira agace kataroranye mu kugereranya ubushobozi bw’Imana Allah Yaremye, n’ubushobozi bw’ico Yaremye, maze yibagira intango y’iremwa ryiwe, arinamura ati: “Ni nde yosubiza ubuzima amagufa kandi yaramaze kubora akavungagurika!”"},{"id":79,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga umwishure uti: “Iyosubiza ubuzima nya magufa, ni Iyayaremye ubwa mbere, ni na Yo Izi neza iremwa ry’ibiremwa vyose, ni Nyenubumenyikurivyose”;"},{"id":80,"translation":"Ni Yo Yabagiriye umuriro mu gutsita igiti kibisi ku kindi, maze mu kanya isase mugacana umuriro muri nya giti[9].","footnotes":"[9] Ugutsita igiti kibisi ku kindi maze umuriro ukaka, ni kimwe mu vyemezo vyerekana ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema ikintu mu gihushane caco. Ni nk’ukwo nyene rero, Ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka."},{"id":81,"translation":"Ubwo none, Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ntishoboye gusubiza ubuzima ibiremwa bikazuka bidora nk’ubwa mbere igihe Ibirema! Yobuzwa n’iki kandi ari Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose!"},{"id":82,"translation":"Ni ukuri, iyo Imana Allah Ishatse ikintu ico ari co cose ko kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene."},{"id":83,"translation":"Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze."}]},{"id":37,"verses":[{"id":1,"translation":"Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga;"},{"id":2,"translation":"No ku bamalayika basunika ibicu vy’imvura kw’itegeko ryanje;"},{"id":3,"translation":"No ku bamalayika basoma urwibutso n’amajambo yanje mu guhishurira Intumwa[1]!","footnotes":"[1] Imana Allah Irahira ku co Ishatse mu biremwa vyayo, nayo ibiremwa ntibirekuriwe kurahira, kiretse kw’izina ryayo gusa. Ukurahira kw’izina ry’ikitari Imana Allah, ni ibangikanyamana."},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri ga bantu! Imana yanyu mukwiye gusenga Itabangikanywa, ni Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":5,"translation":"Ni Yo Mana Rurema Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ni na Yo Mubungabunzi w’izuba mu buseruko no mu burengero bwaryo."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije n’inyenyeri ijuru ryegereye isi;"},{"id":7,"translation":"Turaheza Turaribungabunga, kugira ntirivogerwe n’uwo wese mu ntagondwa z’amashetani;"},{"id":8,"translation":"Amashetani rero, ntashobora gushika ahari abamalayika mu majuru ngo aheze asume urusaku kw’ihishurwa ry’ibijanye n’amabwirizwa, ivyagezwe hamwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Amashetani ahirahiye agasuma urusaku, aca aterwa ibishirira vya nyakotsi biturutse ku mpande zose;"},{"id":9,"translation":"Akirukanwa kugira ntashobore gusuma nya rusaku, yaranategekanirijwe n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":10,"translation":"Kiretse shetani isamiye hejuru ijambo rimwe muri iryo suma ry’urusaku, igaca iribwira iyiri musi yayo; ino na yo ikaribwira iyindi iri musi yayo gushika ku yiri kw’isi. Hari n’aho rero, ikurikizwa igishirira ca nyakotsi kikayiturira imbere yuko iribwira iyiri musi yayo. Hari n’igihe bishika rero mu vyagezwe n’Imana Allah, ikarisamira hejuru ikaribwira iyiri musi yayo imbere yuko ishikirwa na nya gishirira kikayiturira, maze iya nyuma muri yo ikarishikiriza ba senyagara n’abapfumu, na bo bagaca baryuhirako ayandi majambo ijana y’ikinyoma."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ko iremwa ryabo ari ryo rigoye cane gusumba iremwa ry’ibindi biremwa Twaremye! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye se wabo Adamu mw’ivu ribomvye."},{"id":12,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo icogutangaza, ni ihakana ryabo ry’izurwa ry’ibiremwa; n’icogutangaza kurusha, ni itebura ryabo kuri wewe n’isuzugurwa ry’amajambo yawe!"},{"id":13,"translation":"N’iyo bibukijwe ku vyo bibagiye canke bakagotwa, ukubibutsa nta co kubamarira ngo bikebuke."},{"id":14,"translation":"N’iyo babonye icemezo cerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, baragiteburako bakitangaza;"},{"id":15,"translation":"Bagaheza bakavuga bati: “Iyi Qor’ani watuzaniye, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye;"},{"id":16,"translation":"Mbega igihe twapfuye tugacika ivu n’amagufa yaboze, burya mu vy’ukuri tuzosubizwa ubuzima duheze tuzuke!"},{"id":17,"translation":"Mbega burya hazozuka na ba data bapfuye kera!”"},{"id":18,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa uti: “Ego cane! Bitebe bitebuke, muzosubizwa ubuzima maze muzuke kandi musuzuguritse”."},{"id":19,"translation":"Ni ukuri, izurwa ryabo ni akaravyo, hazopfa kuvuzwa inzamba igira kabiri gusa, ubwo nyene bace basokoroka mu kuzimu birabira intureka zo ku musi w’izuka;"},{"id":20,"translation":"Baheze bavuge n’agahinda n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Uwu, ni wo musi w’iharurirwa n’impera!”;"},{"id":21,"translation":"Bace babwirwa n’abamalayika bati: “Uwu, ni wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, umusi mwahora muhakana mwivuye inyuma mukiri kw’isi ko utabaho”."},{"id":22,"translation":"Abamalayika bazobwirwa bati: “Nimwegeranirize hamwe abirenganije mu kugarariza bari kumwe n’abagenzi babo, hamwe rero n’ibigirwamana bahora basenga;"},{"id":23,"translation":"Bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, muheze mubashorere mu nzira ibashikana mu muriro ururumba;"},{"id":24,"translation":"Maze mubahagarike aho babanza kubazwa imbere yuko batabwa mu muriro wa Jahannamu; mu vy’ukuri, bategerezwa kubazwa ku vyo bakoze no ku vyo bavuze vyose”."},{"id":25,"translation":"Bazoheza rero babwirwe ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega mwafashwe n’iki ko mudatabarana nk’uko mwabigenza kw’isi!”."},{"id":26,"translation":"Ahubwo kuri uwu musi, bicishije bugufi mu kwubahiriza itegeko ry’Imana Allah, ntibashobora namba guca kubiri na ryo."},{"id":27,"translation":"Aho rero, bazoheza batangure guhazana, bahangane hagati yabo batanako imiragwe;"},{"id":28,"translation":"Maze indongozi z’abahuvye zibwirwe n’abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Mu vy’ukuri, ni mwebwe mwahora mutuja mu gutwi mukatwankisha ukuri, mukaturyohereza ubuhuvyi kw’izina ry’idini”."},{"id":29,"translation":"Indongozi z’abahuvye na zo zibwire abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Sigaho, murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwebwe ntimwigeze mwemera namba;"},{"id":30,"translation":"Vyongeye nta n’ububasha bw’ivyemezo canke bw’inguvu twari tubafiseko ngo tubabuze ukwemera Imana Allah, eka mbere mwari mwigize akagaramaruganda mu guhonyanga ukuri mukubona;"},{"id":31,"translation":"Ni ho rero twebwe hamwe na mwe twagirwa n’ijambo ry’Imana yacu Rurema Allah, ryo gusezeranira ibihano abagarariji[2]. Mu vy’ukuri rero, twese hamwe dutegerezwa guhonja ibihano;","footnotes":"[2] Raba Aayah ya 13 mu gisomwa Sajda."},{"id":32,"translation":"Twebwe twarabahubishije inzira y’ukwemera, muraheza muradukurikira mu buhuvyi, mu vy’ukuri twari twarahuvye”."},{"id":33,"translation":"Mu vy’ukuri kuri uwo musi rero, indongozi z’abahuvye hamwe n’abazikurikiye mu buhuvyi, bazofadikanya mu bihano nk’uko bafadikanije kw’isi mu buhuvyi."},{"id":34,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tugira mu guhana inkozi z’ikibi zahisemwo ubugaba kw’isi ha kutwumvira."},{"id":35,"translation":"Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bakiri kw’isi, iyo bararikiwe gusenga Imana Imwe Rudende Allah, bati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah”, bahora bagira amanyama bakirengagiza;"},{"id":36,"translation":"Bagaca bavuga bati: “Mbega vyoshoboka gute mu vy’ukuri, ko tureka gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ry’umwivuzi w’amazina, yakehewe n’ubwenge!”."},{"id":37,"translation":"Nibateshwe bate barahumba! Muhamadi ntari nk’ukwo bamuvuga namba, ahubwo yaje abazaniye ukuri kw’ukwemera gushingiye kuri Qor’ani, ashimangira ivyashikirijwe n’izindi Ntumwa mu mabwirizwa n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":38,"translation":"Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, mwebwe ku kubera ihakana ryanyu, mutegerezwa guhonja ibihano bibabaza;"},{"id":39,"translation":"Kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntimuzohanwa, kiretse ku vyaha mwari mwarakoze kw’isi."},{"id":40,"translation":"Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose bakabikora ku bwayo, maze Igaheza Ikabakingira ibihano;"},{"id":41,"translation":"Abo, ni bo rero bazoronka impano zizwi neza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":42,"translation":"Izo mpembo, ni ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, bakazonaterwa iteka n’icubahiro;"},{"id":43,"translation":"Mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema zamaho;"},{"id":44,"translation":"Aho bazoba bicaye ku bitanda batumberanye, barabana;"},{"id":45,"translation":"Ibirahuri vy’inzoga itambiye bicanacanako, inzoga yengwa mu mazi y’iriba ritemba ryamaho;"},{"id":46,"translation":"Ifise ibara ryera n'akanovera k’akataraboneka ku banywi bazoyihereza;"},{"id":47,"translation":"Ntigira ingaruka mbi ngo iboreze canke ngo isinzikaze ubuzima bw’uwuguma ayinywa;"},{"id":48,"translation":"Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi biyubashe bisoneye, batigera bakubita ijisho abatari abagabo babo, bafise n’amaso meza nk’ay’inyana;"},{"id":49,"translation":"Basa neza, ntiworaba barasayangana; wogira ngo ni irigi ribitswe ahantu ata n’umwe ararikorako."},{"id":50,"translation":"Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;"},{"id":51,"translation":"Maze umwe muri bo aheze avuge ati: “Mu vy’ukuri, kw’isi nari mfise umugenzi twamana hafi;"},{"id":52,"translation":"Yavuga yitangaza ambwira ati: “Mbega mu vy’ukuri, wewe uri mu bemera ko izurwa ry’ibiremwa ribaho!"},{"id":53,"translation":"Aho nyene uremera ko nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza tugasubizwa ubuzima tukazuka koko, hanyuma tugaharurirwa, tukanahemberwa ivyo twakoze!””."},{"id":54,"translation":"Hanyuma wa mwemeramana, ace avuga abwire abo bari kumwe mu Bwami bw’ijuru, ati: “Ubwo ntimwoza tukarunguruka mu muriro tukaraba iherezo ry’uwahoze ari umugenzi twamana hafi!”;"},{"id":55,"translation":"Wa mwemeramana agize ngo ararunguruka mu muriro, aca abona wa mugenzi wiwe bamana hafi, ari hagati na hagati mu nyenga y’umuriro ururumba;"},{"id":56,"translation":"Aca avuga abwira nya mugenzi wiwe ati: “Ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wahatswe kumpubisha ngahona iyo ndakwumvira;"},{"id":57,"translation":"Iyo hataba impano y’Imana yanje Rurema Allah, Yanshoboje kwemera nkatsimbatara, ni ukuri nari kuba ndi mu begeranirijwe hamwe na we mu muriro”."},{"id":58,"translation":"Ba bemeramana aho bari mu Bwami bw’ijuru, baca bavuga akamwemwe kabasya bati: “Ni ivy’ukuri, ko tuzoguma mu nema zamaho ibihe bidahera ata gupfa;"},{"id":59,"translation":"Kiretse urupfu rwa mbere twapfuye tukiri kw’isi, nta n’uguhanwa inyuma y’aho twinjiriye mu Bwami bw’ijuru!"},{"id":60,"translation":"Mu vy’ukuri, iyi ni yo ntsinzi ihambaye”."},{"id":61,"translation":"Mu ntumbero yo gushika ku ntsinzi nk’iyi y’Ubwami bw’ijuru, abakora ivyo bakora kw’isi rero, nibakore batiziganya, ata kudebukirwa."},{"id":62,"translation":"Mbega none burya iyo ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru, ni ryo cumbi ryiza cane kuruta ibindi, canke ni igiti Al-Zaqquumu cavumwe, gifungurirwa abantu bo mu muriro!"},{"id":63,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twagize ico giti kuba igeragezwa ku birenganije mu kugarariza, bahakana bivuye inyuma bati: “Bishoboka gute ko igiti kiba mu muriro kandi umuriro uturira igiti!”."},{"id":64,"translation":"Al-Zaqquumu mu vy’ukuri, ni igiti kinagira hagati na hagati mu nyenga y’umuriro wa Jahannamu;"},{"id":65,"translation":"Ivyamwa vya nya giti bisa nabi cane; wogira ngo ni imitwe y’amashetani, ntubaze rero akanuko kavyo n’ukuntu bibishe (bikata) mu kanwa!"},{"id":66,"translation":"Mu vy’ukuri ababangikanyamana, bazorya ivyamwa vyaco, bibuzuze inda batumbirwe;"},{"id":67,"translation":"Hanyuma bashozeko ikinyobwa kigizwe n’uruvange rw’amashira n’urwuya vy’abantu bo mu muriro vyasebuye bikaryimara;"},{"id":68,"translation":"Hanyuma iyegeranirizo ryabo inyuma y’ivyo vyose, ni mu bihano vyo mu muriro."},{"id":69,"translation":"Mu vy’ukuri ababangikanyamana, basanze ba se babo ari impuvyi mw’ibangikanyamana;"},{"id":70,"translation":"Baraheza bacanacanako mu kubakurikira mu buhuvyi."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri mu bantu bo hambere y’abo warungitsweko, harimwo benshi bahuvye;"},{"id":72,"translation":"Ni ukuri, Twarabarungikiye Intumwa zibagabisha ku bihano vyacu, maze ntibumva, baragarariza."},{"id":73,"translation":"Ntumwa y’Imana! Raba rero iherezo ry’abantu bagabishijwe maze ntibumva, ukuntu ryagenze, barahanwe bimwe vy’akarorero;"},{"id":74,"translation":"Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose, maze bakabikora ku bwayo, Igaheza Ikabakingira ibihano."},{"id":75,"translation":"Ni ukuri, Nuhu amaze kwihebura ko abantu yarungitsweko batarota bamwemera, yaraduhamagaye Twebwe Allah kugira Tumutabare, maze asanga ni Twebwe Umwiza w’abatabazi yitabira uwumutabaje;"},{"id":76,"translation":"Turaheza rero Turamurokora we n’umuryango wiwe hamwe n’abemeramana bari kumwe, Tubakura mu kaga ko gusomeshwa nturi y’akataraboneka;"},{"id":77,"translation":"Maze Tugira uruvyaro rwa Nuhu kuba ari rwo rusigara rukarondoka inyuma yuko abantu yarungitsweko bahitanwa n’isegenya;"},{"id":78,"translation":"Tumuha no kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo."},{"id":79,"translation":"Harakayagwa neza rero Nuhu mw’iteka n’itekane mu biremwa vyose."},{"id":80,"translation":"Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Nuhu mu kuyagwa neza n’ibiremwa - Duhemba abagwaneza mu kwumvira Imana Allah."},{"id":81,"translation":"Mu vy’ukuri, Nuhu ari mu baja bacu b’abemeramana bubahiriza koko amabwirizwa yacu."},{"id":82,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah, Twahonya abantu ba Nuhu bahakanye bivuye inyuma, maze bahitanwa n’isegenya."},{"id":83,"translation":"Mu vy’ukuri, mu bagendeye ukwemera-ndemanwa kwa Nuhu gushingiye ku kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni Umuvugishwamana Ibrahimu;"},{"id":84,"translation":"Igihe yatumbera Imana yiwe Rurema Allah n’umutima wejejwe mu kutemera ibintazi n’ingeso mbi;"},{"id":85,"translation":"Igihe abwira se wiwe n’abantu yarungitsweko ati: “Ni ibiki musenga mu gishingo c’Imana Allah!"},{"id":86,"translation":"Karashize ingani, mukanagare mwihe gusenga imana z’irementanya ha gusenga Imana Imwe Rudende Allah!"},{"id":87,"translation":"Mbega none mwibaza iki ku co Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yobahanisha mu gihe mwoyibangikanya!”."},{"id":88,"translation":"Ni ho rero Ibrahimu yitegereza inyenyeri yiyumvira ico yobigobotoza mu kutajana na bo ku musi mukuru wabo;"},{"id":89,"translation":"Aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe ndarwaye”."},{"id":90,"translation":"Baraheza rero baramureka arasigara, na bo barabandanya ku musi mukuru wabo."},{"id":91,"translation":"Ni ho rero yagenda anyaragasa ahari ibigirwamana vyabo, aca abibwira atebura abinebagura ati: “Aho ga ntu, ntimwofungura kuri izi mfungurwa muterekerwa n’ababasenga!"},{"id":92,"translation":"Mbega mwafashwe n’iki ko mutavuga, ngo mwishure n’uwubabajije!”."},{"id":93,"translation":"Ni ho rero yarengera kuri nya bigirwamana, arabikubita n’ukuryo arabimenagura."},{"id":94,"translation":"Ba bantu ni ho baja kumurondera baza batazambaye n’ishavu n’akantu;"},{"id":95,"translation":"Ibrahimu araheza ahura na bo ababwira ata co yinona ati: “Bishoboka gute ko musenga ivyo mwibaziye mwebwe nyene;"},{"id":96,"translation":"Mugaheza mukareka kwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora ntimunayisenge, kandi ari Yo Yabaremye, Ikarema n’ivyo mukora!”."},{"id":97,"translation":"Ba bantu bamaze kwumva ko ata kuri bafise ngo biregure, baciye babicisha mu ngimba babwirana hagati yabo bati: “Nimumwubakireko, maze mugire inkonge y'umuriro, muheze mumuteyo”."},{"id":98,"translation":"Bagomvye rero kumugirira nabi ngo bamwice, Turaheza Twebwe Allah, Turabatsinda mu gutegeka nya muriro ko utohirahira ngo umukoreko."},{"id":99,"translation":"Ibrahimu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndimukiye aho nshobora kwiyegereza Imana yanje Rurema mu vyo nkora vyose ndanayisenga mu mwidegemvyo, Izoheza Inshikane ku vyiza mw’idini no mu buzima bwanje bwo kw’isi”;"},{"id":100,"translation":"Araheza yitura Imana Allah ayisaba avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe umwana mu beranda”;"},{"id":101,"translation":"Twaramwumviye igisabisho ciwe, Turaheza Tumuha agakuru keza ko azoronswa umwana w’umuhungu azorangwa n’ubwitonzi nta ngere[3].","footnotes":"[3] Uyo mwana akaba ari Ismayili mwene Ibrahimu."},{"id":102,"translation":"Ismayili rero amaze gukura akagera mu bigero vyo kujana na Ibrahimu mu dukorwa twa misi yose, Ibrahimu yamubwiye ati: “Mwananje! Ni ukuri, jewe narose mbona vy’ukuri ndiko ndagukerera, none ubivuzeko iki?”. Ismayili yishuye se ata gushidikanya ati: “Da! Shira mu ngiro ivyo wategetswe n’Imana Allah, maze unkerere[4], nanje uza gusanga ku bushake bw’Imana Allah ndi mu bihangana mu kwumvira Imana Allah”.","footnotes":"[4] Kuko indoto z’Intumwa z’Imana, ni ibwirizwa."},{"id":103,"translation":"Bompi rero bamaze kwitegurira kwubahiriza iryo tegeko, maze Ibrahimu akarambika Ismayili hasi yubitse inda kugira amukerere;"},{"id":104,"translation":"Ni ho Twahamagara Ibrahimu muri ivyo bihe bigoye Duti: “Ewe Ibrahimu!"},{"id":105,"translation":"Ni ukuri, wamaze gushira mu ngiro ico wategetswe mu ndoto. Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu kw’ishirwa mu ngiro ry’indoto yiwe - Duhemba abagwaneza mu kubakura mu vyago mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":106,"translation":"Mu vy’ukuri ikererwa ry’umwana wawe Ismayili, ni ryo geragezwa rihambaye ryerekana ukuri kw’ukwemera kwawe”."},{"id":107,"translation":"Ni ukwo rero Twarokoye Ismayili, haraheza hakererwa imbagwa y’intama mu kibanza ciwe."},{"id":108,"translation":"Gutyo Duha Ibrahimu kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo."},{"id":109,"translation":"Ibrahimu arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah."},{"id":110,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu ku kwubahiriza ibwirizwa ryacu - Duhemba abagwaneza."},{"id":111,"translation":"Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu baja bacu b’abemeramana koko."},{"id":112,"translation":"Ibrahimu mu kumuhembera ukwihangana kw’ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa ryacu, Twaranamuhaye agakuru keza ko kuzoronswa umwana yitwa Is-haka, akazoba n’Umuvugishwamana mu Bavugishwamana beranda;"},{"id":113,"translation":"Maze Turamuhezagira we hamwe n’umwana wiwe Is-haka. Mu ruvyaro rwabo bompi rero, hahavuye habonekamwo umwumviramana w’umugwaneza koko, hamwe rero n’uwirenganya bimwe biboneka mu kugarariza."},{"id":114,"translation":"Ni ukuri Musa na murumunawe Haruna, Twarabateye iteka ryo kuba Intumwa;"},{"id":115,"translation":"Turaheza Turabarokora bompi hamwe n’abantu babo mu vyago bihambaye vyo gusoma nturi;"},{"id":116,"translation":"Maze Turabatabara, baranesha Firawuni hamwe n’abunganizi biwe;"},{"id":117,"translation":"Twaranabahaye Igitabu ca Tawurati gitomoye;"},{"id":118,"translation":"Tubarongora no mu nzira igororotse y’ubwislamu;"},{"id":119,"translation":"Gutyo, Tubaha kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo."},{"id":120,"translation":"Musa na murumunawe Haruna barakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah."},{"id":121,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa na Haruna - Duhemba abagwaneza b’imvugakuri."},{"id":122,"translation":"Mu vy’ukuri Musa na murumunawe Haruna, bari mu baja bacu b’abemeramana koko."},{"id":123,"translation":"Mu vy’ukuri Ilyaasi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;"},{"id":124,"translation":"Igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko muri Bene Israyeli ati: “Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, ntimuhirahire ngo muyibangikanye;"},{"id":125,"translation":"Bishoboka gute ko musenga ikigirwamana ata na kimwe gishoboye, mukirengagiza gusenga Umwiza w’abaremyi;"},{"id":126,"translation":"Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikaba ari na Yo Mana Yaremye ba so aho hambere yanyu!”."},{"id":127,"translation":"Abantu Ilyaasi yarungitsweko rero, baramuhakanye bivuye inyuma. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, bazokwegeranirizwa ku Mana Allah kugira Ibahanire ivyo bakoze;"},{"id":128,"translation":"Kiretse abaja b’Imana Allah bejeje idini ryayo, abo ntibazohanwa."},{"id":129,"translation":"Ilyaasi Twamuhaye kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo."},{"id":130,"translation":"Ilyaasi arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah."},{"id":131,"translation":"Mu vy’ukuri, ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ilyaasi kw’igamburukiramana ryiwe - Duhemba abagwaneza mu bemeramana."},{"id":132,"translation":"Mu vy’ukuri Ilyaasi, ari mu baja bacu bubahiriza koko amabwirizwa yacu."},{"id":133,"translation":"Mu vy’ukuri Luutwi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;"},{"id":134,"translation":"Igihe Twamurokora we hamwe n’umuryango wiwe mu bihano;"},{"id":135,"translation":"Kiretse umukecuru ari aho, yahonejwe mu bandi ku bubegito bwiwe."},{"id":136,"translation":"Mu nyuma rero, ni ho Twahonya vy’akarorero abahakanyi mu bantu ba Luutwi."},{"id":137,"translation":"Bantu b’i Makka! Mu vy’ukuri mu ruja n’uruza rwanyu, ni ukuri mwama muzinduka muca ahahoze imihana y’abantu ba Luutwi;"},{"id":138,"translation":"Mukanagorobeza muhaca. Ubwo ntimwogarura akenge mugatinya ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye."},{"id":139,"translation":"Mu vy’ukuri Yunusu, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;"},{"id":140,"translation":"Igihe atwarwa n’agashavu agata abantu biwe yarungitsweko, agahungira mu bwato bwuzuye abantu n’ibintu;"},{"id":141,"translation":"Maze nya bwato bukubitwa n’imikuba iturutse irya n’ino, biba ngombwa ko baburemururira kugira ntibwibire. Ni ho rero bagira tombora ku kuraba uwotabwa mw’ibahari, maze amajwi yose agwa kuri Yunusu;"},{"id":142,"translation":"Araheza atabwa mw’ibahari, ifi amahanga iba yamubonye nk’ejo ica iramusama, iramutamira ku mwikomo yari afitiwe n’Imana Allah."},{"id":143,"translation":"Iyo Yunusu rero ataba ari mu bantu barangwa no gukora ivyiza imbere yuko atamirwa na nya fi, hanyuma akaguma aninahaza yongera atazira Imana Allah ari mu nda yayo[5];","footnotes":"[5] Avuga ati : “LAA ILAAHA ILLAA ANTA SUB-HAANAKA INNII KUN-TU MINA DDHWAALIMIINA”."},{"id":144,"translation":"Ni ukuri yari gupfira mu nda yayo, maze akagumayo gushika ku musi w’izurwa ry’ibiremwa."},{"id":145,"translation":"Ni ho rero Twamukura muri nya fi Tukamuterera kw’isi y’ubugaragwa, yarushe yacitse intere;"},{"id":146,"translation":"Turaheza Tumunagishiriza igiti c’uruyuzi kimuha agatutu, akanagifungurako gushika atore mitende."},{"id":147,"translation":"Mu nyuma, Twahavuye Tumurungika ku bantu ibihumbi ijana, mbere n’abarenga;"},{"id":148,"translation":"Maze baramwemera baranashira mu ngiro ivyo abigisha, Duca Tubaha kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi gushika kw’isango ryo gupfa kwabo."},{"id":149,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza abantu warungitsweko ukuntu bubahuka bakomekera abakobwa ku Mana yawe Rurema Allah ku rwanko gusa babafitiye, maze bakigenera abahungu ku rukundo babafitiye!"},{"id":150,"translation":"Babaze kandi bakwereke ko ariho bari bari, igihe Twebwe Allah Turema abamalayika ari abakobwa nk’uko babivuga!"},{"id":151,"translation":"Emwe bantu! Nimwumve mwumvireho! Ni ukuri mu binyoma vy’ababangikanyamana, bavuga ko;"},{"id":152,"translation":"Imana Allah Yavyaye. Mu vy’ukuri, barabesha bagaheba bakanyomoza ku kuvuga ivyo batazi."},{"id":153,"translation":"Imana Allah Yokwihitiramwo gute abakobwa Ikirengagiza abahungu!"},{"id":154,"translation":"Bantu! Iyo, ni ingingo mbi cane mwishingira, ko Imana Allah Yigeneye abakobwa mu biremwa, na mwe Ikabagenera abahungu!"},{"id":155,"translation":"Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko bitabereye namba ko Imana Allah Yitirirwa umwana! Ntibikabe."},{"id":156,"translation":"Canke mwoba mufise ku vyo muvuga, icemezo gitomoye gishingiye ku bumenyi!"},{"id":157,"translation":"Nimwaba rero mufise nya cemezo kiri mu Gitabu c’Imana Allah, enda nyabuna rero, nimukizane nimwaba muri imvugakuri koko!"},{"id":158,"translation":"Ababangikanyamana bibwira ko Imana Allah hari ico Ipfana n’abamalayika gishingiye ku maraso. Ni ukuri abamalayika, barazi neza ko ababangikanyamana bazokwegeranirizwa mu bihano ku musi w’izuka."},{"id":159,"translation":"Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera."},{"id":160,"translation":"Ariko rero, abaja b’Imana Allah bemera koko bakeza n’idini ryayo, ntibavuga ku Mana Allah, kiretse ibiberanye n’icubahiro cayo."},{"id":161,"translation":"Babangikanyamana! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah;"},{"id":162,"translation":"Ntimushoboye guhubisha n’umwe mu biremwa;"},{"id":163,"translation":"Kiretse uwagenewe kuja mu muriro ku bugarariji bwiwe."},{"id":164,"translation":"Abamalayika bazovuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe, kiretse ko afise ahantu hazwi mw’ijuru adashobora kurenga;"},{"id":165,"translation":"Mu vy’ukuri twebwe, turatonda mu runani, ku murongo mu gusenga Imana Allah no mu kuyumvira;"},{"id":166,"translation":"Mu vy’ukuri twebwe, tuninahaza twongera dutazira Imana Allah, mu buryo buri kure cane y’ibitaberanye n'icubahiro cayo”."},{"id":167,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri bahora binamura bakavuga imbere y’irungikwa ryawe bati:"},{"id":168,"translation":"“Ese iyo dushikirwa n’Ibitabu n’Intumwa nk’ivyashikiriye abo hambere yacu;"},{"id":169,"translation":"Ni ukuri twari kuba abaja b’Imana Allah, bemera koko bakeza n’idini ryayo”."},{"id":170,"translation":"Igihe bashikirwa rero n’Igibabu ca Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), barabigararije bivuye inyuma. Bitebe bitebuke rero, bazomenya ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":171,"translation":"Ni ukuri ijambo ryacu Twebwe Allah, ryaramaze gushingwa ku baja bacu mu Ntumwa;"},{"id":172,"translation":"Ko mu vy’ukuri ari bo bategerezwa gutsinda no kunesha abansi babo;"},{"id":173,"translation":"N’uko ingabo zacu ziduharanira, zitegerezwa kunesha abansi bazo, kuko ari zo zeniherezo ryiza."},{"id":174,"translation":"Ntumwa y’Imana! Irengagize abatemera ubarabishe amaso, gushika igihe bagenewe kubaho gihere maze bapfe, hanyuma bahanwe;"},{"id":175,"translation":"Tenyenya rero, uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo, bitebe bitebuke, na bo nyene bazoheza bibonereko ibizobashikira mu bihano!"},{"id":176,"translation":"Ntumwa y’Imana! Karashize ingani bihutire gusaba ko ibihano vyacu bibashikira!"},{"id":177,"translation":"Burya, igihe bashikiwe n’ibihano vyacu, hazoba ari igitondo kibi cane ku bagabishijwe hanyuma ntibumva!"},{"id":178,"translation":"Ntumwa y’Imana! Birengagize ubarabishe amaso rero, gushika igihe bashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah;"},{"id":179,"translation":"Tenyenya rero uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo; bitebe bitebuke, na bo nyene bazokwibonerako ibizobashikira mu bihano!"},{"id":180,"translation":"Nihaninahazwe rero Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro c’iteka mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera."},{"id":181,"translation":"Intumwa zose rero zirakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah."},{"id":182,"translation":"Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":38,"verses":[{"id":1,"translation":"Swaad[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri Qor’ani yibutsa abantu kwikebuka ku vyo bagosweko!","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ariko rero, abagararije bagira amanyama mu guhonyanga ukuri bagaca kubiri na kwo."},{"id":3,"translation":"Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje hambere yabo, yatakamvye mu kwigaya igihe ishikirwa n’ibihano, ico gihe umwanya wo kwigaya wari wamaze kurengerana, nta n’ubukiriro yari igifise bwo guhunga nya bihano."},{"id":4,"translation":"Abagarariji, baritangaje ku kurungikirwa Umugabisha avuye mu bantu nkabo, kugira abagabishe ku bihano vy’Imana Allah, yongere abararikire kuyemera, baraheza barinamura bati: “Uyu, ni umurozi karuhariwe mu kubesha;"},{"id":5,"translation":"Karashize ingani, afate imana zacu azigire Imana Imwe Rudende, abe ari Yo aturarikira kwemera! Mu vy’ukuri, iryo rarikiramana ryiwe, ni ukuri ni ikintu gitangaje pe!”."},{"id":6,"translation":"Indongozi z’abagararije zarahimirije abantu bazo gukomeza gutsimbatara mw’ibangikanyamana ziti: “Nimushishikare mutsimbatare mudahesha mu gusenga imana zanyu. Mu vy’ukuri inyigisho z’iyi Ntumwa, ni ukuri zifise ihangiro ryo kwiganza no kwigarurira ubutegetsi."},{"id":7,"translation":"Kuva na kera na rindi, nta ho twigeze twumva inyigisho nk’izo mw’idini rya ba data mu Bakorayishi canke mu banaswara. Izo nyigisho rero, si ikindi kiretse ko ari irementanya ryigendera!"},{"id":8,"translation":"Vyoshoboka gute ko Muhamadi ari we gusa muri twese yohishurirwa Qor’ani!”. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero abagarariji, bafise amakenga kw’ihishurirwa n’irungikwa vyawe. Ahubwo mbere binamura kuvuga ukwo, kuko batarahonja ibihano vyanje Jewe Allah."},{"id":9,"translation":"Mbega none boba bagaba ibigega vy’impano z’Imana yawe Rurema Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Bigaburo Iha uwo Ishatse mu ngabirano zayo Itarinze gusabwa!"},{"id":10,"translation":"Canke boba bagaba bakaganza amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ku buryo bagaburira canke bakima uwo bashatse mu biremwa! Enda rero nibakore ibibashobokeye kugira bashike mw’ijuru, baheze rero bagaburire ibiremwa mu guha canke mu kwima uwo bashaka!"},{"id":11,"translation":"Ingabo z’ababangikanyamana, zizoneshwa nk’uko ingabo ziyunze z’abo hambere yabo zaneshejwe;"},{"id":12,"translation":"Aho hambere yabo, harigeze kuba hari abahakanye bivuye inyuma: abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Firawuni yari afise ingabo n’inguvu bidasanzwe;"},{"id":13,"translation":"Bene Thamuudi, abantu ba Luutwi hamwe rero n’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu. Iyo migwi rero, ni yo migwi y’abantu biyunze mu bugarariji no mu buhakanyi;"},{"id":14,"translation":"Umugwi wose muri yo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa, uca uhabwa ibihano vyanje Jewe Allah."},{"id":15,"translation":"Ababangikanyamana, nta n’ikindi barindiriye mu gihe boguma mw’ibangikanyamana, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya kadasubizwa inyuma."},{"id":16,"translation":"Baranavuze batebura kw’iharurirwa ry’ibiremwa ku musi w’izuka bati: “Ewe Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Uduhe ibihano vyacu Watugeneye tukiri kw’isi, imbere yuko umusi w’iharurirwa ugera!”."},{"id":17,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah iratera intege Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twatumye imisozi yitabira itazira n’ininahazamana ryagirwa na Dawudi umugoroba n’igitondo;"},{"id":19,"translation":"Dutuma n’umugwi w’inyoni witabira nya tazira n’ininahazamana, ivyo vyose rero vyaramwumvira;"},{"id":20,"translation":"Twaranamutsimbatarije ubwami bwiwe kw’ijunja n’inguvu Twamuhaye, Tumuha n’ubutumwa hamwe no gutomora ijambo n’ingingo."},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abantu babiri batase, igihe basimba urugo rw’aho Dawudi yasengera;"},{"id":22,"translation":"Baraheza bamwinjirirako aca agira ubwoba! Ni ho bamutururuza bati: “Tekana, ntugire ubwoba namba, twebwe twatase, aho umwe muri twebwe yarenganije uwundi; twaje kukwitura rero kugira udutunganirize vy’ukuri ata nkunzi, wongere uduhanure gukurikira inzira igororotseˮ."},{"id":23,"translation":"Ni ho rero umwe muri bo yatangura kwigana avuga ati: “Mu vy’ukuri, uyu ni mwenewacu, afise intama mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise intama imwe rudende, akaba yagize inambu yo kuyinyaga, aca ambwira ati: “Mpa iyo ntamaˮ, maze aranzivya sinagira ayo ncira n’ayo miraˮ;"},{"id":24,"translation":"Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya[3];","footnotes":"[3] Iyo umuntu asomye iyi Aayah gushika ku mpera, aca yubama agashira uruhanga hasi."},{"id":25,"translation":"Twaciye Tumugumiriza akabanga Turanamubabarira ivyaha vyiwe. Mu vy’ukuri Dawudi, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":26,"translation":"Ni ho rero Twamubwira Duti: “Ewe Dawudi! Mu vy’ukuri, Tukugize icariho cacu mu kukugira umwami kw’isi. Kubera ivyo rero, tunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vyawe mu gufata ingingo, kuko vyoguhubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri abahuba inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bikaze, kuko birengagije umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa[4]ˮ.","footnotes":"[4] Iyi Aayah ihanura indongozi ko zibwirizwa gutunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kuko kutabatunganiriza kuzihubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah."},{"id":27,"translation":"Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku gufyinata, ukwo ni ko abagararije bibwira ko Twabiremye. Ibihano nya bihano vyo mu muriro rero, vyagenewe abagarariji badategera intumbero y’Imana Allah mu kurema ijuru n’isi."},{"id":28,"translation":"Mbega burya Twogira abemeye bagakora n’ivyiza bitegetswe nk’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, canke Twogira abagamburukiramana nk’abanyavyaha! Eka nta ho basa basana mu butoni n’ubutore ku Mana Allah."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ivyo wahishuriwe, ni Igitabu gihezagiye Twakumanuriye, kugira abantu bazigame Aayah zaco baheze bazigendere, no kugira incabwenge koko zibuke zishire mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":30,"translation":"Dawudi rero, Twaranamuronkeje umwana yitwa Sulayimani, yari Umuja mwiza yatewe iteka akarigendera koko; mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah;"},{"id":31,"translation":"Ibuka aho Sulayimani yagenzura ifarasi z’akarorero zigishijwe, agahera ku muhingamo gushika ku kirengazuba;"},{"id":32,"translation":"Maze akavuga yiregura ati: “Mu vy’ukuri, jewe nahisemwo gukunda ifarasi, maze ndasamara sinibuka gutazira no kuninahaza Imana yanje Rurema Allah, gushika n’aho izuba rirenga;"},{"id":33,"translation":"Ngarukanira za farasi zose nagenzuraˮ. Ni ho rero nya farasi zagarukanwa, maze azitanga ikimazi[5] aca arazica imitsi arazikerera, kuko zatumye isengesho rimucika.","footnotes":"[5] Ukwiyegereza Imana Allah mu gukerera ifarasi, ryari ibwirizwa mu mabwirizwa yubahirizwa igihe c’Intumwa Sulayimani."},{"id":34,"translation":"Ni ukuri, Twaragerageje Sulayimani, maze Dukororera ku ntebe yiwe umwana afise urubavu rumwe yavutse atageze[6], ni ho yagaruka ku Mana Allah arigaya;","footnotes":"[6] Sulayimani yarigeze kurahira ko arangurana amabanga y’abubatse n’abakenyezi biwe bose mw’ijoro rimwe, maze bose bagasamira rimwe, bakazomuvyarira abana barinda ku rugamba, bakazoharanira idini ry’Imana Allah, ariko rero ntiyibutse kuvuga ati: “In shaa Allah” ku bushake bw’Imana Allah. Ni ho rero yabigenza nk’uko yarahiye, maze hasama imbanyi umukenyezi umwe gusa muri bo, yahavuye yibaruka umwana afise urubavu rumwe."},{"id":35,"translation":"Araheza avuga mu kwigaya kwiwe ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga Umbabarire ivyaha, Umpe n’ubwami buhambaye Utazokwigera Uha n’umwe mu bantu bo mu nyuma zanje. Mu vy’ukuri, Wewe Uri Bigaburoˮ."},{"id":36,"translation":"Ni ho rero Twamwakirira igisabisho ciwe, Tumworohereza kwikora ku muyaga, ukamwumvira mu gihe cose awutegetse kumujana aho hose ashaka;"},{"id":37,"translation":"Tumworohereza no gukoresha amashetani mu bikorwa vyiwe vya misi yose; muri yo, harimwo ayubaka n’ayibira mw’ibahari;"},{"id":38,"translation":"Hakaba rero n’ayandi mashetani ruhebwa yabohesha amapingu."},{"id":39,"translation":"Ubu bwami buhambaye n’iyoroherezwa ryo kwikora ku muyaga no ku mashetani, ni impano yacu kuri wewe Sulayimani, uratanga utitangira, uhe uwo ushatse, wime uwo ushatse, nta wuzoguciramwo."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri Sulayimani, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuja wacu Ayubu igihe yasaba gukira umuniho, atakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mu vy’ukuri shetani, yanteye umuruho n’ububabare budasanzwe buturutse ku ndwara no ku kwangara kw’umuryango wanje, hamwe rero no guhona kw’amatungo yanjeˮ;"},{"id":42,"translation":"Turaheza Tubwira Ayubu Duti: “Dida ikirenge cawe hasi, haca hadudubiza amazi akanye, uheze uyanyweko wongere uyiyuhagire, indwara ice ikiraˮ."},{"id":43,"translation":"Ni ho rero Twamukiza nya ndwara, Tukamutera n’iteka ryo gusubizwa abangaye mu bana no mu bagore, Tumurengerezako n’abandi nk’abo mu bana no mu buzukuru. Ivyo vyose rero, Twabigize ku mpuhwe zacu mu kumuhembera ukwihanganira igeragezwa ryamushikiye, no kugira rero bibere urwibutso incabwenge koko, ziheze zimenye ko ukwihangana gushikana umuntu ku ntsinzi."},{"id":44,"translation":"Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko[7]ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.","footnotes":"[7] Iyo ndahiro yari yuko niyaramuka akize, azokubita umukenyezi wiwe inkoni ijana, kuko uwo musi yari yatevye kugaruka kumuraba aho yari arwariye."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi Abaja bacu: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu, baranzwe n’ishaka n’umwete bidasanzwe kw’iyumviramana hamwe n’ubumenyi budasanzwe mw’idini;"},{"id":46,"translation":"Mu vy’ukuri Twabahisemwo mu bandi, mu kubatera iteka ryo kwama bibuka gukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa[8];","footnotes":"[8] Barumvira Imana Allah, bakararikira n’abantu kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":47,"translation":"Mu vy’ukuri abo, ni ukuri bari mu bo Twahisemwo Tukabagira Intumwa n’intore mu kutwumvira."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ongera wibuke Abaja bacu: Ismayili, Al-Yasa’a na Dhu l-Kifli, umwe wese muri bo, ni ukuri yari mu ntore zatewe iteka mu biremwa vy’Imana Allah."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni iteka n’urwibutso kuri wewe no ku bantu bawe warungitsweko. Mu vy’ukuri abagamburukiramana, ni ukuri baragenewe uburuhukiro bwiza;"},{"id":50,"translation":"Ubwo buruhukiro bukaba ari imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” bazokwugururirwa imiryango yabwo;"},{"id":51,"translation":"Aho bazoba bicaye ku nyegamo zisharije, basaba guherezwa ivyo bipfuza mu vyamwa vy’ubwoko bwinshi hamwe n’ibinyobwa bitandukanye;"},{"id":52,"translation":"Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, bari mu runganwe rumwe n’urugero rumwe."},{"id":53,"translation":"Bagamburukiramana! Izo nema rero, ziri mu vyo musezeraniwe kuzoronka ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa;"},{"id":54,"translation":"Mu vy’ukuri, izo ni zo mpano zacu kuri mwebwe, ntizigera zishira canke ngo zikehe;"},{"id":55,"translation":"Izo rero, ni zo mpano zagenewe abagamburukiramana. Nayo abimonogoje mu bugarariji, ni ukuri bagenewe uburuhukiro bubi cane;"},{"id":56,"translation":"Ubwo buruhukiro bukaba ari umuriro wa Jahannamu, bazokwinjira maze bakawota. Ubwo rero, ni bwo busaswa bubi cane bubaho;"},{"id":57,"translation":"Ibi, ni vyo bihano bazohonja; ukunywa amazi asebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera;"},{"id":58,"translation":"Bazohabwa n’ibindi bihano rero nk’ivyo vy’ubwoko bwose."},{"id":59,"translation":"Igihe abimonogoje mu bugarariji binjiye mu muriro, bazotanako umwikomo, maze babwirane hagati yabo bati: “Ng’uwo umugwi w’abantu isinzi, utegerezwa kwinjirana na mwe mu muriro udaheraˮ. Abari muri uwo muriro bazobishura bati: “Ntibagahabwe ikaze, ntibakagire uburaro n’uburamuko mu muriro, ni ukuri nibinjire mu muriro baheze bawote nkatweˮ;"},{"id":60,"translation":"Abumviye abimonogoje mu bugarariji bakabakurikira, bazosubizayo bati: “Ahubwo mwebwe nyabuna ntimugahabwe ikaze, kuko ari mwebwe mwaduhubishije kw’isi mugatuma twinjira muri woˮ. Umuriro udahera rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane bubaho;"},{"id":61,"translation":"Abumviye abimonogoje mu bugarariji, bazobandanya basabira ababahubishije, ko bohanwa vy’akarorero bati: “Mana yacu Rurema Allah! Abaduhubishije inzira yawe kw’isi, turagusavye ubongerereze ibihano ku bindi mu muriro udaheraˮ."},{"id":62,"translation":"Abimonogoje mu bugarariji na bo, bazovuga bitangaza bati: “Mbega vyagenze gute ko mu muriro tutabonayo abantu twahora duharura kw’isi ko bari mu banyavyaha!"},{"id":63,"translation":"Mbega twoba twarabihenzeko mu kubateburako tubasuzugura, canke twoba tudashoboye gusa kubabona kandi bari kumwe na twe mu muriro!ˮ."},{"id":64,"translation":"Iryo tanako ry’umwikomo hagati y’abantu bo mu muriro, nta nkeka ko ari iry’ukuri kandi rizoshika."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha kuri mwebwe ku bihano vy’Imana Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Allah Nyarudende[9], Nyeninkomezi-ntangere;","footnotes":"[9] Ni Yo Mana Rudende mu biyiranga vyose, Irikwije, ntibangikanywa. Nta giteye nkayo. Ivyo bigatuma ari Yo gusa Ikwiye kwiyegerezwa mu gusengwa ari Imwe Rudende, Itabangikanywa."},{"id":66,"translation":"Ni Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshiˮ."},{"id":67,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Iyi Qor’ani, ni inkuru ihambaye, ngirakamaro cane;"},{"id":68,"translation":"Mwebwe mwirengagiza kuyitegera no kuyigendera;"},{"id":69,"translation":"Nta bumenyi nogira ku vyerekeye uruhara rw’abamalayika kw’iremwa rya Adamu, kiretse ivyo nahishuriwe n’Imana Allah;"},{"id":70,"translation":"Nta co Impishurira ngo menye ivyo ntari nzi, atari uko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayoˮ."},{"id":71,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko, igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Ngira Ndeme umuntu mw’ivu;"},{"id":72,"translation":"Ninamara gutunganya indemo y’umubiri wiwe, nkamuhuhiramwo n’inkomoko y’ubuzima “Roho” akaba muzima, muraheza rero mumuhe icubahiro kimukwiye mu kumwubamira[10]”.","footnotes":"[10] Ukwubama kuvugwa ng’aha, kwari mu ntumbero yo guha Adamu icubahiro yahawe n’Imana Allah Yamuremye, ntikwari mu ntumbero yo kumusenga kuko ubwislamu bubuza bwivuye inyuma ukwubama mu ntumbero yo guha icubahiro umuntu."},{"id":73,"translation":"Abamalayika baraheza baragamburuka bose barubama;"},{"id":74,"translation":"Kiretse Ibilisi, yanse n’amanyama n’akantu kumwubamira, gutyo aca aba mu bagarariji;"},{"id":75,"translation":"Imana Allah Iraheza Ibaza Ibilisi icatumye atubama Iti: “Ewe Ibilisi! Ni igiki cakubujije kwubamira ikiremwa Niremeye n’amaboko yanje[11]! Wabigize ku manyama n’agasuzuguro, canke uri mu bihambaza ku Mana yawe Rurema!”.","footnotes":"[11] Iyi Aayah Iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."},{"id":76,"translation":"Ibilisi yishuye n’amanyama n’akantu ati: “Sinubamiye ico kiremwa kuko jewe ndi intore kugisumba, Wandemye mu rubeya rw’umuriro, na co Ukirema mw’ivu!”."},{"id":77,"translation":"Imana Allah, Iraheza Ibwira Ibilisi Iti: “Kubera ivyo rero, va mu Bwami bw’ijuru, kuko wewe mu vy’ukuri uravumwe;"},{"id":78,"translation":"Ni ukuri uzobaho mw’ivumwe ryanje, gushika ku musi w’iharurirwa n’impera”."},{"id":79,"translation":"Ibilisi abonye ko kabaye, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa”."},{"id":80,"translation":"Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, wewe uri mu bazoramba;"},{"id":81,"translation":"Gushika ku musi w’isango nyezina, rizwi ryo guhonya ibiremwa vyose”."},{"id":82,"translation":"Ni ho Ibilisi yavuga n’agahigihigi n’akantu ati: “Ndarahiye ku cubahiro c’iteka ryawe, ni ukuri ntegerezwa guhubisha Bene Adamu;"},{"id":83,"translation":"Kiretse gusa abo Wejeje mu baja bawe, Ukabaha ubudahangarwa, ku buryo ata nzira n’imwe yo kubahubisha noronka ncamwo”."},{"id":84,"translation":"Imana Allah Yavuze Iti: “Uku ni ukuri kuvuye kuri Jewe Allah, kanatsinda sinigera Mvuga atari ukuri;"},{"id":85,"translation":"Ni ukuri Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu, uruvyaro rugukomokako hamwe n’abazogukurikira bose muri Bene Adamu”."},{"id":86,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, eka si ndi no mu barementanya bihatira gushikiriza ivyo batahishuriwe”."},{"id":87,"translation":"Iyi Qor’ani rero, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku biremwa; abantu n’amajini kugira vyikebuke mu gukora ivyobigirira akamaro mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":88,"translation":"Babangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira."}]},{"id":39,"verses":[{"id":1,"translation":"Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":2,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri. Kubera ivyo rero, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose, unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ugira vyose ku bwayo."},{"id":3,"translation":"Bantu, nimwumve mwumvireho! Iyumviramana rizira ibangikanya, rikwiye Imana Allah. Nayo abayibangikanya bakigirira mu gishingo cayo abahagarikizi, barinamura bati: “Ntitubangikanya Imana Allah mu gusenga izo mana atari ukugira ngo zidushikane kuri Yo, maze tube hafi yayo”, gutyo bakaba baragararije. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, Imana Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’ababangikanyamana ku vyo bahora bahazanako mw’idini bakiri kw’isi, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza gutumbera inzira yayo uwuyirementaniriza, akagarariza yivuye inyuma ivyemezo vyayo."},{"id":4,"translation":"Iyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;"},{"id":5,"translation":"Imana Allah, Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Iserura ijoro ahavuye umurango, Igaserura umurango ahavuye ijoro. Yaranaremye izuba n’ukwezi, kimwe cose gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya Imana Allah Yaremye ivyo vyose, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;"},{"id":6,"translation":"Bantu! Imana Allah, Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu, maze Irema muri we umukenyezi wiwe. Iraheza Ibaremera n’amoko y’ibitungwa umunani; igitsina-gabo n’igitsina-gore mu ngamiya, mu nka, mu ntama no mu mpene. Iraheza Ibarema intambwe ku yindi mukiri mu nda za ba nyoko mu myijima itatu: umwijima wo mu nda, uw’igitereko n’uwingovyi. Imana Yaremye ivyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Nyenubwami, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!"},{"id":7,"translation":"Bantu! Nimwaramuka rero mugararije mu kutayemera no mu kutemera Intumwa zayo, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Yikwije mu bumana bwayo ata n’ico Ibakeneyeko, kanatsinda ni mwebwe muyikeneye mu kubaho kwanyu, kandi ntishima namba ko abaja bayo bayigarariza; nimwayishimira rero mukanayigamburukira, Izobibashimira. Kandi nta n’umwe azohanirwa icaha c’uwundi, hanyuma muzokwegeranirizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, Iheze Ibabwire ivyo mwakoze maze Ibibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha."},{"id":8,"translation":"Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca yibuka Imana yiwe Rurema Allah, maze akayisaba ayitakambira ngo Ibimukureko; Igize ngo Iramwumviye mu kubimukurako, Ikamuha inema zayo, aca yibagira ibisabisho yahora agira, agaheza akayibangikanya n’ibigirwamana, kugira ahubishe abantu inzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ryoherwa gato n’ubugarariji bwawe gushika upfe, wewe mu vy’ukuri, uri mu bantu bo mu muriro udahera”."},{"id":9,"translation":"Mbega burya umugarariji aryoherwa gato mu bugarariji bwiwe, ni we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwicisha bugufi kuri Yo, akayisenga ayubamira mu gicugu, atinya n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, yizeye no kugirirwa impuhwe n’Imana yiwe Rurema Allah! Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega burya abazi Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hari aho banganiye mu butore n’ubutoni n’abatayizi batubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ihibambewe, ntibashobora kungana”. Ni ukuri, abibuka bagatandukanya icatsi n’ururo, ni abanyabwenge koko."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abaja banje b’abemeramana uti: “Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. Abarangwa n’ubugwaneza, baragenewe ukuroranirwa mu buzima bwo kw’isi hamwe rero n’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo rero, isi y’Imana Allah iragutse, nimwaburabuzwa mu kwemera kwanyu, muraheza mwimukire aho mwidegemvya mw’idini. Ni ukuri abihanganira iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah, mu buzima bw’inyuma yo gupfa bazohabwa impembo nta ngere."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yantegetse jewe hamwe n’abankurikiye kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tunayisenga ari Imwe Rudende, tweza n’ivyo tugira vyose ku bwayo;"},{"id":12,"translation":"Kandi Yantegetse kuba umwislamu wa mbere mu bo narungitsweko, nicisha bugufi nkayisenga ari Imana Imwe Rudende Allah ntayibangikanya”."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri jewe, mu gihe noca kubiri no gusenga Imana yanje Rurema Allah ari Imwe Rudende, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga wemanga ukwemera kwawe uti: “Burya jewe, niyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose, maze nkayisenga ari Imwe Rudende, nkeza n’ivyo ngira vyose ku bwayo;"},{"id":15,"translation":"Babangikanyamana! Nimusenge ivyo mushaka mu bigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ivyo vyose nta co binyicira”. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri abari mu ruhombo nya ruhombo, ni barya bihombeye bagahomba n’imiryango yabo ku musi w’izuka[1]”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Urwo rero, ni rwo ruhombo rugaragara.","footnotes":"[1] Kuko bahuvye bakanahubisha imiryango yabo inzira y’ukwemera Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":16,"translation":"Abo bahomvye ku musi w’izuka, bagenewe ibihano bikaze vy’umuriro uzoba ubakikuje hejuru no musi, nk’amagorofa amahanga. Ivyo bihano rero, Imana Allah Ivyiganira abaja bayo, kugira bikebuke maze bavyiyubare. Emwe baja banje! Nimungamburukire rero mu kwubahiriza amabwirizwa yanje."},{"id":17,"translation":"Na barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[2], bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;","footnotes":"[2] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa."},{"id":18,"translation":"Barya bumviriza ijambo, maze bakubahiriza irigororotse gusumba; iryo na ryo rikaba ari jambo ry’Imana Allah n’iry’Intumwa yayo. Abo rero, ni bo Imana Allah Yarongoye mu gushobozwa kurangwa n’ingeso hamwe n’ibikorwa vyiza. Abo, ni na bo banyabwenge koko."},{"id":19,"translation":"Ntumwa y’Imana! Burya, uwagiriwe n’igihano ku gushishikara kwiwe mu bugarariji, nta buhinga wokoresha ngo umugire umugororotsi. Ntumwa y’Imana! Mbega none, burya urashoboye gukingira umuntu ari mu muriro ngo ntahanwe! Wanguha."},{"id":20,"translation":"Ariko rero, abagamburukira Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baragenewe mu Bwami bw’ijuru ivyumba vy’amagorofa musi yavyo hatemba inzuzi. Iryo rero, ni isezerano Imana Allah, Yasezeraniye abagamburukiramana, kandi Imana Allah ntica kubiri n’isezerano ryayo."},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko mu vy’ukuri Imana Allah, Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaca Icira inzira nya mazi y’imvura akanyika, maze akadudubiza kw’isi ari imbizi n’inzuzi zitemba, hanyuma Ikanagisha ibiterwa bitotahaye bitandukanye kw’ibara n’ubwoko hakoreshejwe amazi ya nya mvura; mu nyuma, nya biterwa bigakaba bigahindura ibara bigahishira ukabona bisa n’umuhondo, hanyuma bigahungurura amababi aheza akavungagurika ku bushobozi bw’Imana Allah! Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inyigisho n’urwibutso ku banyabwenge koko."},{"id":22,"translation":"Mbega burya, umuntu yaguriwe n’Imana Allah igikiriza agahimbarwa no kuyemera akaba umwislamu, maze akagendera mu muco w’uburongozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, yoba anganya ubotore n’ubutoni, n’uwurangwa n’agatimatare ko kutayemera! Ntibashobora kunganya ubutore n'ubutoni. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abarangwa n’agatimatare batigera bibuka Imana Allah. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri."},{"id":23,"translation":"Imana Allah, Yamanuye amajambo meza cane, ayo majambo akaba ari Qor’ani isusa mu bwiza no mu ngingo vyayo; itigera ivuguruzanya mu ngingo zayo; irimwo amateka y’Intumwa yisubiriza aha na harya, ingingo n’ivyemezo bitomoye; ntitera ubunebwe uwuyisomye n’aho yoyisoma kenshi yisubiriza; iyo isomwe, abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah barahinda agashitsi, maze imibiri n’imitima vyabo bikoroha mu guhurumbira ivyiza. Ubwo rero, ni bwo burongozi bwa Qor’ani, Imana Allah Ishoboza kubutumbera uwo Ishatse. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntazoronka n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo."},{"id":24,"translation":"Mbega burya, uwuzotabwa mu muriro ku musi w’izuka abohewe amaboko imugongo kubera ubugarariji bwiwe, gutyo ntashobore kuwikingira mu maso, yoba ari we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwuri mu nema zo mu Bwami bw’ijuru kubera ubugamburutsi bwiwe! Kuri uwo musi rero, abirenganije bazobwirwa ku gahemo bati: “Nimuhonje rero ibihano ku vyo mwari mwararondeye kw’isi”."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abo hambere y’abantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zabo, baraheza bashikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze;"},{"id":26,"translation":"Gutyo Imana Allah, Ibahonja ibihano vyo gusuzugurika kw’isi, ni ukuri baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bikaze kandi biremereye cane. Iyo rero ababangikanyamana bamenya ko abo hambere yabo bahanwe ku bugarariji bwabo, bokwikebutse bakemera Imana Allah."},{"id":27,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye ababangikanyamana muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye butandukanye, kugira banyurwe bikebuke, baheze bavavanure n’ibangikanyamana;"},{"id":28,"translation":"Qor’ani Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu, itomoye mu majambo no mu nsiguro vyayo, itagiramwo akanenge; ivyo bikaba biri ukwo, kugira bagamburikire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":29,"translation":"Imana Allah, Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo, agabwa akaganzwa n’abantu benshi bamukoresha mu vyo umwumwe wese muri bo ashaka mu mwanya umwe, maze akananirwa ukuntu yobashimisha bose; uwundi na we akagabwa akaganzwa n’umuntu umwe rudende, aheza akamukoresha mu vyo ashaka, maze na we akamushimisha. Burya none abo bantu babiri, bokworoherwa kumwe mu kurangurana ubukerebutsi ico basabwa! Wanguha. Ni nk’ukwo nyene rero, umubangikanyamana yama mu makenga n’ihungabana ryo kudashobora gushimisha ibigirwamana, mu gihe umwemeramana yama atekaniwe ashoboye no gushimisha Imana Allah. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangikanyamana, ntibazi ukuri ngo bagukurikire."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe uzopfa, kandi na bo nyene mu vy’ukuri bazopfa;"},{"id":31,"translation":"Hanyuma mu vy’ukuri, mwese ku musi w’izuka muzoheza muburane ku Mana Allah, Iheze Ibatunganirize vy’ukuri."},{"id":32,"translation":"Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah[3], canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.","footnotes":"[3] Mu kuyitirira ibitaberanye n’icubahiro cayo; nko kuyitirira umwana, canke umugore, canke kuyibangikanya, canke gushinga ingingo ngo ni iy’Imana Allah kandi ata ho Yigeze Iyihishura."},{"id":33,"translation":"Uwazanye ukuri mu mvugo n’ingiro mu Ntumwa maze akakugendera, we hamwe n’abamukurikiye, ni bo bagamburukiramana koko;"},{"id":34,"translation":"Bagenewe kuronka ivyiza bipfuza ku Mana yabo Rurema Allah; iyo, ni yo mpembo y’abagwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa;"},{"id":35,"translation":"Ivyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ibagumirize akabanga ku vyaha bakoze kw’isi bivanye n’ukwigaya kwabo, Iheze Ibababarire, Yongere Ibahembere ivyiza bakoze kw’isi mu kuronswa impembo nziza cane y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":36,"translation":"Burya none Imana Allah, si Yo Ibungabunga Umuja wayo Muhamadi mu kumukingira kugirirwa nabi n’ababangikanyamana! Ego cane, ni Yo Imubungabunga mu bijanye n’idini, Ikamuzigama no mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! Baragutera n’ubwoba ko ibigirwamana vyokugeramira. Humura nta co bizokugira. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntashobora kuronka n’umwe amurongora mu nzira yayo;"},{"id":37,"translation":"Nayo uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, ntihazoboneka n’umwe ashobora kumuhubisha inzira y’ukuri. Burya none Imana Allah, si Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Yihora bikwiye abayigarariza!"},{"id":38,"translation":"Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri, bazokwishura ata gushidikanya bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibemanga ko ari Yo Rurema, uraca ubabaza kandi uti: “Mbega burya none, ibigirwamana musaba mu gishingo c’Imana Allah, birashoboye kunkura mu kaga n’igeragezwa nashizwemwo n’Imana Allah, canke birashoboye gutuma ntashikirwa n’ivyiza n’impuhwe nagiriwe n’Imana Allah!”. Nibemanga ko bitabishoboye, uraca ubabwira uti: “Imana Allah rero, ni Yo Ikwiye kunkingira. Abizera rero nibishimikize nyabuna kuri Yo bayizere”."},{"id":39,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu narungitsweko! Nimukore ivyo mugira vyose nk’uko muvyipfuza mu gusenga ibigirwamana ata co bishoboye, jewe mu vy’ukuri nkora ivyo nkora, nisunze amabwirizwa y’Imana Allah, bitebe bitebuke rero muzomenya;"},{"id":40,"translation":"Uwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, agaheza akaja no mu bihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa."},{"id":42,"translation":"Imana Allah, Yaka ubuzima burundu ibiremwa mu gihe hageze ko bipfa[4] bigapfa; Ikaka ubuzima ibindi biremwa hataragera ko bipfa mu gihe bisinziriye (biri mw’itiro)[5]; maze Igasinziriza ubutakivayo ibiremwa Yandikiye ko bipfa, bigapfira muri nya tiro; Igaheza Igasubiza ubuzima ibindi biremwa bikikangura, maze bikabaho gushika isango rizwi ryo gupfa kwavyo rigere. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.","footnotes":"[4] Urwo ni urupfu rukuru, rwitwa urupfu rukuru kuko inkomoko y’ubuzima “Roho” itandukana n’umubiri burundu kuko ikiringo co kubaho kw’isi kiba kirangiye; gutyo kwa gukakaza, kwumva no kubona vyatuma umuntu atahura ibiriko biraba, bigahagarara burundu.\n[5] Ugusinzira kwitwa urupfu ruto, kuko inkomoko y’ubuzima “Roho” itandukana n’umubiri mu gihe usinziriye, ku buryo ushobora gusa kwikakaza no guhema, ariko udashobora kwumva no kubona ngo utahure ibiriko biraba mu gihe cose uba ugisinziriye. Ugusinzira rero, ni urupfu ruto rushikira zina kiremwa-muntu ku musi ku musi, rukaba rwari rukwiye gutuma umuntu yibuka ko hariho urupfu rukuru."},{"id":43,"translation":"Canke ababangikanyamana bagize ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, kugira bibavugire kuri Yo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ibigirwamana vyobavugira gute kandi na vyo nyene ata na kimwe bigaba, eka ntibinamenya namba ko mubisenga!”."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Burya, ivugira n’ivugirwa ry’ibiremwa vyose, ni ivy’Imana Allah; riba ku burenganzira bwayo, ni Yo Nyenubwami Iganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; hanyuma rero, ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze”."},{"id":45,"translation":"Iyo rero havuzwe Imana Allah Yonyene, imitima y’abatemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa, irashishwa n’ishavu n’akantu ikajugumira. Iyo havuzwe ibigirwamana naho, akamwemwe kakabasya, kuko havuzwe ikijanye n’ivyipfuzo vyabo; maze imitima yabo ikaremurukirwa."},{"id":46,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ewe Mana yanje Nzima! Rutanguzandemo Waremye amajuru n’isi! Rumenyi w’ibintu vyose; ibinyegeje n’ibiboneka! Ni Wewe ku musi w’izuka, Uzocira abaja bawe urutunganye, rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, ndongora mu kunshikana ku kuri ku burenganzira bwawe, Wewe mu vy’ukuri, Urongora uwo Ushatse mu nzira igororotse[6]”.","footnotes":"[6] Iki gisabisho, ni kimwe mu bisabisho Intumwa yakunda gusaba mu ntumbero yo kwigisha abemeramana kugaruka ku Mana Allah mu kuyisaba hakoreshejwe amazina n’amatazirano vyayo."},{"id":47,"translation":"Abirenganije mw’ibangikanyamana, iyo baba bagaba ibiri mw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibindi nkavyo, bobitanze kugira bigombore muri vyo ku musi w’izuka; kira noneho, n’aho bobitanga ngo bigombore muri nya bihano, ntibirota vyemerwa namba. Kuri uwo musi rero, bazobona mu bihano vy’Imana Allah, ivyo batigera bibaza bakiri kw’isi ko vyoshika, bagwe mu gahundwe;"},{"id":48,"translation":"Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako."},{"id":49,"translation":"Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;"},{"id":50,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri imigwi y’abantu bagararije aho hambere y’abantu bawe, baravuze ijambo nk’iryo ryo kwihakana inema z’Imana Allah, maze bararihanirwa; ico gihe rero, ivyo begeranije mu matungo n’abana, nta co vyabamariye;"},{"id":51,"translation":"Kubera iryo jambo, ni ho rero bibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze, maze barahanwa mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! N’abirenganije rero mu kuvuga iryo jambo mu bantu bawe, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze maze bahanwe, kandi ntibazocaruka ngo bananire Imana Allah."},{"id":52,"translation":"Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.","footnotes":"[7] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza.\n[8] ko yihangana akigumya, akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu."},{"id":53,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;"},{"id":54,"translation":"Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;"},{"id":55,"translation":"Muheze mukurikire n’ivyiza mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah muri Qor’ani, mubigendere mu kwubahiriza amabwirizwa yayo imbere yuko mushikirwa n’ibihano mutabizi;"},{"id":56,"translation":"Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;"},{"id":57,"translation":"Canke akavuga ati: “Iyo Imana Allah Indongora mw’idini ryayo, ni ukuri nari kuba ndi mu bagamburukiramana”;"},{"id":58,"translation":"Canke akavuga igihe yabonye yamaze gusagirizwa n’ibihano vy’Imana Allah, ku musi w’izuka, ati: “Ese icompa nkasubizwa kandi kw’isi, ngaheza nkaba mu bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah!”."},{"id":59,"translation":"Imana Allah Izoheza Yishure Iti: “Muntu! Ntibikabe nk’uko ubivuze! Ni ukuri, warashikiriwe n’ivyemezo vyanje vyerekana ukuri, maze urabihakana wivuye inyuma, uranagira amanyama mu kutavyemera, wari no mu bagarariji bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo”."},{"id":60,"translation":"Ku musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":61,"translation":"Imana Allah rero, Izoheza Irokore mu bihano, abayigamburukiye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kubashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru bipfuza, ntibazokorwako n’akabi, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu namba ku vyo basize kw’isi."},{"id":62,"translation":"Imana Allah, ni Yo Rurema Ikaba n’Umugabe Yaremye ibintu vyose, ni na Yo Muhagarikizi Itunganiriza ibiremwa;"},{"id":63,"translation":"Ni Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":64,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega mwa bijuju mwe! Karashize ingani muntegeke kwiyegereza mu vyo nkora vyose mu gusenga ikitari Imana Allah, kandi ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanijwe!”."},{"id":65,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9];","footnotes":"[9] Kuko ata gikorwa na kimwe c’umubangikanyamana cemerwa mu gihe ataravavanura n’ibangikanyamana ngo yigaye atarapfa."},{"id":66,"translation":"Ahubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo."},{"id":67,"translation":"Ababangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;"},{"id":68,"translation":"Inzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira!"},{"id":69,"translation":"Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba."},{"id":70,"translation":"Umuntu wese rero, azoheza ahabwe indishi ikwiranye n’ivyo yakoze; indishi nziza ku ciza canke indishi mbi ku kibi. Burya rero Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bagira kw’isi, Izobibahembera."},{"id":71,"translation":"Abagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”."},{"id":72,"translation":"Abagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”."},{"id":73,"translation":"Abagamburukiye Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazotwarwa bajanwe mu Bwami bw’ijuru bari mu migwimigwi, bagize ngo barabushikiriye, bace bugururirwa imiryango yabwo ngo binjire, abamalayika babarindiranye igishika kuri nya Bwami, babahe ikaze n’akamwemwe n’akantu bati: “Nimugire amahoro, kaze murisanze, muragahorana urweze, iteka n’itekane! Murahawe ikaze rero mu Bwami bw’ijuru, muzobubamwo ibihe bidahera”;"},{"id":74,"translation":"Bazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”."},{"id":75,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kuri uwo musi rero, uzobona abamalayika bakikuje ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe, baninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, maze Imana Allah Icire urugororotse vy’ukuri ibiremwa vyayo, abemeramana baje mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo baje mu muriro udahera, haheze havugwe hashimirwa Imana Allah ngo: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”."}]},{"id":40,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani, ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":3,"translation":"Ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, Ikakira n’ukwigaya kw’abigaya; Igahana Igahasha abubahutse gukora ivyaha hanyuma ntibigaye, Nyenimpano ku baja bayo bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":4,"translation":"Nta wuharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kiretse abagararije ko Allah ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri. Ntumwa y’Imana! Ntugahendwe rero ngo ukangwe n’ukwishira n’ukwizana kwabo mu rudandazwa, hamwe rero no kworoherwa mu bihendamaso vy’isi;"},{"id":5,"translation":"Hambere y’abo bagarariji, abantu barungikiwe Nuhu hamwe n’abaje mu nyuma zabo; nka Bene Aadi na Bene Thamuudi, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, maze biha kuzigeramira, bacurika imitwe hamwe mu ntumbero yo kuzihana harimwo no kuzica, umugwi wose muri bo uraheza utegura umugambi wo gufata Intumwa yawo ngo uyice, baraheza baraharira bitwaje ikinyoma, kugira ngo nya kinyoma gitsinde ukuri, Nca Ndabashikura Ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Nabahaye ibihano bikaze vyobera inkebuzo ibiremwa bindi bizoza mu nyuma!"},{"id":6,"translation":"Ni nk’uko nyene rero - Twahanye imigwi y’abagararije Intumwa aho hambere - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo guhana abagararije, rija mu ngiro mu kuba ari abantu bo mu muriro."},{"id":7,"translation":"Abamalayika bareruye ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe “Arshi” bari kumwe n’abandi bamalayika babukikuje, baninahaza Imana yabo Rurema Allah mu kuyishimagiza mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, bakayemera vy’ukuri, bagasabira imbabazi abemeramana, bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Impuhwe n’ubumenyi vyawe bikwiriye ikintu cose Waremye; kubera ivyo rero, Gumiriza akabanga maze Ubabarire abigaya ku vyaha vyabo bakanakurikira n’inzira yawe y’ubwislamu, Uheze Ubakingire n’ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;"},{"id":8,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye ko Ubinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” Wabasezeraniye, bo hamwe n’aberanda muri ba se babo, abakenyezi babo n’uruvyaro rwabo. Mu vy’ukuri, ni Wewe Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora;"},{"id":9,"translation":"Bakingire n’inkurikizi mbi y’ibicumuro vyabo, Ntubibahanire. Uwo wese rero Ukingiye inkurikizi mbi y’ibicumuro ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, ni ukuri Uba Wamugiriye impuhwe zo kumukiza ibihano vyawe; iyo, ni na yo ntsinzi ihambaye”."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije ko Allah ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri maze bakayibangikanya, igihe babonye intureka z’umuriro udahera, bazokwiyanka nya kwiyanka, maze abamalayika bawucungereye babahamagare bati: “Urwanko Imana Allah Yabanse mukiri kw’isi, igihe murarikirwa kuyemera hamwe n’Intumwa zayo mukagarariza, ruruta urwanko mwiyanka aho muboneye ibihano”."},{"id":11,"translation":"Abagarariji rero bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Watwishe incuro zibiri[2], Udusubiza n’ubuzima incuro zibiri nyene[3]; ubu rero turemanze ivyaha vyacu twakoze; mbega none, nta kuntu twoshobora kuva mu muriro udahera, maze tugasubira kw’isi tugaheza tukakwumvira!”. Ico gihe rero, ukwemanga kw’ivyaha vyabo nta co kuzobamarira;","footnotes":"[2] Igihe twari tukiri intanga tutarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, n’igihe ikiringo co kubaho kwacu kw’isi kirangiriye.\n[3] Igihe duhuhiriwemwo inkomoko y’ubuzima “Roho” tukabaho kw’isi, n’igihe dusubirijwe ubuzima tukazuka."},{"id":12,"translation":"Bagarariji! Ivyo bihano mubihawe kuko mwararikiwe ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, mugaheza mukeza n’ivyo mugira vyose ku bwayo, mukagarariza; n’iyo Ibangikanijwe n’ikindi kintu, mwaraheza mukacemera mukagikurikira. Ingingo yose rero ikwiye kwubahirizwa, ni iy’Imana Allah, Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru."},{"id":13,"translation":"Bantu! Imana Allah, ni Yo Ibereka ivyemezo vyayo vyerekana ubushobozi bwayo, Ikabaronsa n’ibibabeshaho mu kubamanurira imvura izananye mu kirere; nta n’uwibuka ibi vyemezo, kiretse uwugaruka kuri Yo, akayitumbera mu vyo akora vyose."},{"id":14,"translation":"Bemeramana! Nimwiyegereze rero Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, mweze n’ivyo mugira vyose ku bwayo n’aho vyoshavuza abagarariji."},{"id":15,"translation":"Imana Allah, ni Yo Nyenicubahiro kirengeye vyose mu biremwa, Nyenubuhangamo buhambaye buri hejuru ya vyose. Ku mpuhwe zayo ku baja bayo, Ibarungikira Intumwa ziza kubashikiriza ihishurwa ryayo ry’amabwirizwa, riha ubuzima bw’umushaha uwo Imana Allah Ishatse muri bo, maze nya Ntumwa zikabagabisha ku bihano vyo ku musi ibiremwa vyose vyahuriye hamwe;"},{"id":16,"translation":"Ku musi w’izuka, aho ibiremwa vyose bizoseruka imbere y’Imana Allah. Kuri uwo musi, nta na kimwe kizoba kinyegejwe kuri Yo mu vyerekeye ibiremwa, Imana Allah Izoheza Ivuge Iti: “Ubwami nya bwami kuri uno musi, ni ubwa nde!”. Izokwiyishura Iti: “Ni ubw’Imana Allah Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;"},{"id":17,"translation":"Kuri uyu musi rero, umuntu uwo ari we wese ahemberwa ivyo yarondeye kw’isi; impembo nziza ku ciza canke impembo mbi ku kibi. Kuri uyu musi rero, nta n’umwe arenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi”. Mu vy’ukuri Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa."},{"id":18,"translation":"Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vyo ku musi w’izuka uri hafi kugera, igihe imishaha y’ibiremwa izohababuka igahakwa kubivamwo ikabigera mu muhogo, vyishwe n’agahinda hamwe n’intuntu n’akantu. Abirenganije mw’igarariza, ntibazoronka umugenzi canke incuti, eka nta n’uwubavugira bazoronka yobavugira ku Mana Allah ngo yumvirwe."},{"id":19,"translation":"Imana Allah Irazi neza agahemo k’amaso, Irazi n’ibihishijwe mu mishaha; yaba ineza canke inabi;"},{"id":20,"translation":"Kandi Imana Allah, Icira urutunganye vy’ukuri ibiremwa. Nayo ibigirwamana bisengwa mu gishingo cayo, nta na kimwe bishoboye gutunganya mu bijanye no gucira imanza ibiremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bikora, Izobibihembera."},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega abahakanyi batigera bakwemera, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo, ryagenze! Abari aho, bari bafise ingabo n’inguvu nyinshi kubarusha, basize n’ibisigarira bigizwe n’inyubakwa n’ibindi vyerekana ko bari bahambaye kubasumba; ivyo vyose rero, nta co vyabamariye hageze guhanwa. Ni ho rero Imana Allah, Yabashikura Ikabahanira ivyaha vyabo, eka ntibanaronse uwubakingira ibihano vy’Imana Allah."},{"id":22,"translation":"Ivyo bihano rero vyahawe abahakanyi b’aho hambere, kuko bashikiriwe n’Intumwa z’Imana, zaje zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, baraheza barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabashikura Irabahana. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese ayigarariza."},{"id":23,"translation":"Ni ukuri, Twaranarungikanye Musa ivyemezo vya Aayah zacu hamwe n’icemezo kigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende;"},{"id":24,"translation":"Twamurungitse kwa Firawuni wa Misiri, Haamaana na Qaaruuni, maze baca bavuga bamirira kure ubutumwa bwiwe n’amanyama n’akantu bati: “Musa, ni umurozi akaba n’umukonikoni w’umubeshi ruhebwa”."},{"id":25,"translation":"Igihe rero Musa yazana ibitangaro vy’ukuri bivuye iwacu Twebwe Allah, ntibamuhakanye ngo bamurwanye gusa, ahubwo barinamuye bavuga bati: “Nimwice abana bose b’abahungu bavyarwa n’abemeye Musa, muheze musigaze abakobwa babo tuzobagire abajakazi bacu”. Burya, gukoresha urwenge kw’abagarariji mu kurwanya idini, nta co kubagezako kiretse uguhona n’ubuhuvyi."},{"id":26,"translation":"Firawuni yavuze abwira abunganizi biwe ati: “Nkundira mundeke nice Musa, maze aheze yambaze Imana yiwe Rurema Yamurungitse, Iheze Imutabare; mu vy’ukuri jewe, mfise ubwoba n’impungenge ko yohindura idini ryanyu mukamukurikira, canke agakwiragiza ubwononyi mu gihugu ca Misiri”."},{"id":27,"translation":"Musa yabwiye Firawuni n’abunganizi biwe ati: “Jewe mu vy’ukuri, nikinze ku Mana yanje Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema Allah, ndayisaba ko Inkingira igeramirwa ry’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, atanemera n’umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa”."},{"id":28,"translation":"Ni ho rero umwemeramana umwe mu bantu ba Firawuni, yahisha ukwemera kwiwe, yavuga ati: “Ubwo nyene murakanagaye mwice umuntu w’inzirakarengane, mumuhora gusa kuba avuze ati: “Imana yanje Rurema ni Allah”, kandi yanabazaniye ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, vyerekana ukuri kwiwe! Musa rero niyaba abesha biramusha, kuko bizomugarukako. Niyaba naho ari imvugakuri, nta kibuza ko muzoshikirwa na bimwe mu vyo abagabishako. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo, uwimonogoje mu bugarariji, akagenzwa n’ubwononyi kw’isi, akaba n’umubeshi ruhebwa;"},{"id":29,"translation":"Bantu banje! Ndemera cane ko uno musi mufise inganji y’ubwami bwo gucinyiza Bene Israyeri n’abandi banyagihugu bo muri Misiri; none aho bukera, ni nde azodukingira ibihano vy’Imana Allah, igihe vyadushikiye!”. Firawuni yabwiye abari ng’aho yishura ati: “Bantu muri ng’aha! Nta co nobahanura gukora, kiretse ico nanje nyene mbona ko kibereye; kandi sindabarongora, kiretse mu nzira nziza ibereye y’ubugororotsi”;"},{"id":30,"translation":"Maze wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yishura ahanura yongera agabisha ati: “Jewe mu vy’ukuri, mfise ubwoba n’impungenge, ko mu gihe mwohirahira mukica Musa, mwoshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye imigwi y’abiyunze mu kurwanya Intumwa;"},{"id":31,"translation":"Nk’uko vyagendeye abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Bene Thamuudi, hamwe rero n’ababakurikiye mu nyuma mu bugarariji, abo bose rero, Imana Allah Yarabahoneje. Burya Imana Allah, ntishaka namba kurenganya abaja bayo ngo Ibahanire icaha batakoze;"},{"id":32,"translation":"Bantu banje! Jewe mu vy’ukuri, ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe abantu bazohamagarana hagati yabo bivuye ku ntureka z’uwo musi;"},{"id":33,"translation":"Umusi mwagenjeje umugongo muhunga, ntimuzoronka ababakingira ibihano vy’Imana Allah. Uwuzoteterezwa n’Imana Allah mu kutamushoboza kurongoka mu nzira yayo, ntazoronka n’umwe amurongora mu nzira yayo”."},{"id":34,"translation":"Ni ukuri, mwararungikiwe Umuvugishwamana Yusufu mwene Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) imbere y’irungikwa rya Musa, yaje yibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwiwe, araheza abararikira ukwemera n’ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, ntimwaretse kuguma mu makenga ku vyo yabazaniye akiriho, muraheza murushirizaho kuyagira inyuma y'aho apfiriye; amaze gupfa, muca muvuga muti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ntizobarungikira iyindi Ntumwa mu nyuma ya Yusufu”. Ni nk’iryo hubishwa rero, Imana Allah Ihubisha uwo wese yimonogoje mu bugarariji no mu kurenga ku mabwirizwa yayo, akamana amakenga mu kwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende."},{"id":35,"translation":"Abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi; abo rero, iharira ryabo rirashavuza cane Imana Allah, rigashavuza n’abemeramana. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Idashoboza kurongoka abaharira ku bijanye na Aayah zayo ata n’ubumenyi bafise - Itera ikimangu ku mutima w’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, akimonogoza no mu kurenganya abandi."},{"id":36,"translation":"Firawuni yavuze yiyamiriza Musa ati: “Ewe Haamaana! Enda nyabuna rero, nyubakira inyubakwa ndende (umunara), hari n’aho noronka inzira zinshikana ku co nshaka;"},{"id":37,"translation":"Inzira zinshikana mu majuru, kugira nirabire ko Imana ya Musa Ibaho. Mu vy’ukuri, ndibwira neza ko Musa abesha, ata mana yindi iri hejuru”. Ni nk’ukwo rero Firawuni yaryoherejwe ibikorwa vyiwe bibi akabibona ko ari vyiza, gutyo bimubuza gukurikira inzira y’ukuri; burya urwenge rwa Firawuni mu kurwanya ukuri, nta kindi rwari kumushikanako, kiretse agahombo no guhona."},{"id":38,"translation":"Wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yarongeye guhanura abantu biwe ati: “Emwe bantu banje! Enda rero nyabuna nimunkundire munkurikire, mpeze ndabarongore mu nzira ibereye y’ubugororotsi;"},{"id":39,"translation":"Bantu banje! Ni ukuri ubuzima bwo kw’isi, ni ubwo kuryoherwa n’ibihendamaso mu kanya gato hanyuma bugahera; mu gihe ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo buzima bwo kuryoherwa n’ivyiza vyamaho ibihe bidahera;"},{"id":40,"translation":"Abazokora ikibi uko kingana kwose rero, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ntibazohabwa kiretse igihano kingana na nya kibi; nayo abazokora iciza gitegetswe uko kingana kwose, baba abahungu canke abakobwa, maze bakagikora ari abemeramana; abo, ni bo rero bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, aho bazoronswa ibibabeshaho ata kugererwa ngo baharurirwe;"},{"id":41,"translation":"Emwe bantu banje! Bishoboka gute ko ndabararikira kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Musa, kugira muhabwe Ubwami bw’ijuru, na mwe mukandarikira gukora ibinjana mu muriro!"},{"id":42,"translation":"Mundarikira kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya n’ivyo ntafitiye ubumenyi, ko bikwiye gusengwa mu gishingo cayo, mu gihe jewe ndabararikira gukurikira inzira ibashikana ku Mana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;"},{"id":43,"translation":"Ni ivy’ukuri rero, ko ivyo mundarikira kwemera, bidakwiye kurarikirwa ngo bisengwe, eka ntibinakwiye kwizerwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kuko ata co bishoboye. Nimumenye rero, ko ibiremwa twese tuzosubira ku Mana Allah, kugira Ihembere umwumwe wese ku vyo yakoze; mumenye n’uko, abimonogoje mu bugarariji, bakagenzwa n’ubwononyi bwo gusesa amaraso kw’isi, ari bo bantu bo mu muriro udahera”."},{"id":44,"translation":"Wa mwemeramana amaze kubahanura bakamwirengagiza, yababwiye ati: “Burya, bitebe bitebuke, muzokwibuka ko nabahanuye ata co mugikiza. Nayo jewe, ndikinze ku Mana Allah mu kuyishimikiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera”."},{"id":45,"translation":"Ni ho rero uyo mwemeramana mu bantu ba Firawuni, Imana Allah Yamukingira ubugizi bwa nabi bwa Firawuni n’abunganizi biwe, maze bahitanwa n’igihano kibi c’akataraboneka, co gusomeshwa nturi;"},{"id":46,"translation":"Bashoka bahona. Hanyuma, aho bari mu kuzimu bacishwa mu bihano vy’umuriro igitondo n’umugoroba[4], no ku musi w’izuka ry’ibiremwa, abamalayika bacungereye umuriro bazobwirwa bati: “Nimushire abantu ba Firawuni mu bihano bikaze vyo mu muriro”.","footnotes":"[4] Iyi Aayah, ni icemezo gikwiye mu kwemeza ko ibihano vyo mu mva ari ivy’ukuri."},{"id":47,"translation":"Igihe rero abantu bo mu muriro batanyeko imiragwe baharira hagati yabo, maze abapfuye gukurikira abandi, bakabwira indongozi zabo bakurikiye, zagira amanyama mu kutemera Imana Allah, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ni mwebwe twumviye kw’isi turabakurikira; aho none ga ntu, kuri uno musi ntimwoza tukabagerurira ku mutwaro wacu w’ibihano vyo mu muriro!”."},{"id":48,"translation":"Indongozi zabo bakurikiye, zagira amanyama mu kutemera Imana Allah, zizokwigovyora ziti: “Ntidushoboye namba kubaremurura umutwaro wanyu w’ibihano vyo mu muriro, kuko twese mu vy’ukuri turi muri vyo, mu vy’ukuri Imana Allah ku butungane bwayo, Yamaze guha umwumwe wese muri twebwe ibihano bikwiranye n’ivyo yakoze”."},{"id":49,"translation":"Abari mu muriro udahera rero, bose bazobwira abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye Jahannamu babinginga bati: “Enda nimudusabire ku Mana yanyu Rurema Allah, maze Idutezurire mu bihano n’umusi n’umwe, duheze turuhuke na gato!”;"},{"id":50,"translation":"Abamalayika bazobishura n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega none, ntimwashikiriwe n’Intumwa zanyu mwarungikiwe, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, mukazihakana mwivuye inyuma!”. Na bo bazoheza bemange bati: “Ego cane zaradushikiriye!”. Ni ho ba bamalayika bazoca babiyama bati: “Kubera ivyo rero, twebwe ntiturota tubasabira, enda nimwisabire mwebwe nyene, ariko rero ntimwumvirwa ngo mutezurirwe kuko muri abagarariji, burya igisabisho c’abagarariji nta co kibashikanako, kiretse ko kiba impfagusa”."},{"id":51,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ni ukuri Turatabara Intumwa zacu hamwe n’abemeramana bazikurikiye, Tukabatera n’intege mu kwiganzura ababageramiye mu buzima bwo kw’isi. Ku musi w’izuka naho, abamalayika, Abavugishwamana n’abemeramana bazoba ivyabona, ko abahakanye bashikirijwe koko ubutumwa, baraheza barabuhakana;"},{"id":52,"translation":"Umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, ivyireguzo vy’abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, nta co bizobamarira, baranagenewe ivumwe hamwe n’iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":53,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa uburongozi muri Tawurati hamwe n’ibitangaro bishikana ku kuri; Turanaraga Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati bagenda bahererekana uruvyaro ku rundi;"},{"id":54,"translation":"Kugira nya Gitabu kibarongore mu nzira nziza y’ubugororotsi, giheze kibere n’urwibutso incabwenge koko."},{"id":55,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri; uheze usabe ikigongwe ku vyaha vyawe, wongere ushishikare kuninahaza mu gushimagiza Imana yawe Rurema Allah umugoroba n’igitondo."},{"id":56,"translation":"Mu vy’ukuri, abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ni ukuri baharira mu ntumbero yo kuburagiza ukuri ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi, nta kiri mu gikiriza cabo, kiretse amanyama yo guhonyanga ukuri bakubona, ku gusharika Umuvugishwamana Muhamadi kw’iteka ry’ubutumwa yahawe, ivyo bikaba ata co bizobashikanako. Ntumwa y’Imana! Niwikinge ku Mana Allah Igukingire ishari ryabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izobibahembera."},{"id":57,"translation":"Ni ukuri iremwa ry’amajuru n’isi, rirahambaye kuruta iremwa ry’abantu n’isubizwa ry’ubuzima bwabo bakazuka kandi baramaze guhwera, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko iremwa ry’ivyo vyose ryoroshe ku Mana Allah."},{"id":58,"translation":"Nta ho vyakabaye ko impumyi n’uwubona bonganya ubutore. Ni nk’uko nyene rero abemeye ko Allah ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa, bakumvira n’Intumwa zayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ata ho banganiye mu butore n’abatemera ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’Intumwa zayo, bakarenga no ku mabwirizwa yayo. Bantu! Burya ni gake mwibuka ivyemezo vy’Imana Allah, mukanyurwa."},{"id":59,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri isango ry’umuhero w’isi, vuba bwango rirashika nta gisivya. Nimuvyizere nk’uko mwabishikirijwe n’Intumwa kuko nta makenga arimwo. Ariko rero abenshi mu bantu, ntibemera ko umuhero w’isi ugiye gushika ngo baheze bawitegurire."},{"id":60,"translation":"Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”."},{"id":61,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri ryo muheze muruhuke; Ibagirira n’umurango, kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeningabirano zihambaye ku bantu, ariko rero abenshi muri bo ntibayishimira ngo bayiyegereze mu vyo bakora banayisenge ari Imwe Rudende."},{"id":62,"translation":"Uwabagiriye ivyo vyiza rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Yaremye ibintu vyose, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. None, ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":63,"translation":"Bagarariji! Ni nk’uko nyene rero - mwahakanye ukuri mugahitamwo ikinyoma - abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana Allah, bahusha ukuri bagakurikira ikinyoma."},{"id":64,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi kuba ubutururo bwanyu; Ibagirira n’ijuru riri hafi y’isi, kuba igisenge kibakingira; Iraheza Ibashirira muri nya juru ibimenyetso vy’inyenyeri bibazimurura; Ibarema mw’ishusho n’indemo vyiza bibereye, Ibaronsa n’ibibabeshaho vyiza birekuwe. Uwabagiriye ivyo vyiza vyose rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah. Harakubahwa rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":65,"translation":"Ni Yo Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, nimuyiyegereze rero mu kuyisaba ari Imwe Rudende, mweza n’ivyo mugira vyose ku bwayo. Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."},{"id":66,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe, nabujijwe n’Imana Allah gusenga ibigirwamana musenga mu gishingo cayo, inyuma y’aho maze gushikirwa n’ivyemezo bivuye ku Mana yanje Rurema Allah, kandi nategetswe kwicisha bugufi no kwumvira Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":67,"translation":"Ni Yo Yaremye so Adamu mw’ivu; hanyuma abamwamutseko, Ibarema mw’ima ry’intanga umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, maze nya ma rikibumba rikaba amaraso avuze; mu nyuma mugaheza mukagenda murakura bukebuke, gushika n’aho muvuka muri abana; hanyuma mukagenda murakura bukebuke gushika mugere mu bigero; hanyuma mukagera mu busaza. Muri mwebwe rero, hari n’abapfa imbere y’aho. Izo ntambwe zose z’ubuzima rero, Twazibagereye kugira mushike kw’isango nyezina rizwi ryo kuba kw’isi hanyuma muhwere, no kugira mutahure ivyemezo na Aayah vy’Imana Allah, muheze mumenye ko ata yindi mana ibwirijwe gusengwa itabangikanywa atari Yo;"},{"id":68,"translation":"Ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka. Iyo rero Ishatse ikintu ko kiba, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene”."},{"id":69,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ubwo ntutangazwa n’abahakanyi baharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukuntu bahusha ukuri bakayibangikanya!"},{"id":70,"translation":"Abahakana bivuye inyuma Qor’ani hamwe n’ibindi Bitabu Twarungikanye Intumwa zacu kugira birongore abantu mu nzira yacu, bitebe bitebuke, bazomenya inkurikizi y’ubuhakanyi bwabo;"},{"id":71,"translation":"Igihe baboheshejwe iminyororo mw’izosi, maze bakaboheshwa n’amapingu ku maguru, bagaheza bakabururwa n’abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye umuriro;"},{"id":72,"translation":"Mu mazi asebuye akaryimara, hanyuma bakabata mu muriro wama wakijwe wa Jahannamu;"},{"id":73,"translation":"Hanyuma bakabwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega imana zanyu mwahora musenga ziri hehe!"},{"id":74,"translation":"Zazimanganiye hehe ko mwazibangikanya n’Imana Allah! Ubwo ntimwozisaba zikabakura mu kaga murimwo!”. Bazoheza bishure bati: “Zazimanganye nta n’ico zatumariye, ahubwo mbere tukiri kw’isi, twasenga ibintazi ata co bimaze”. Ni nk’uko rero Imana Allah - Yazimanganije ibigirwamana mu muriro udahera - Ihubisha abagarariji ku bugaba bwabo;"},{"id":75,"translation":"Bagarariji! Ivyo bihano mwahawe rero, vyaturutse ku kugotwa kwanyu kw’isi mu kuryoherwa n’ibikorwa bibi mwakora, no ku kurangwa n’amanyama hamwe n’akarenganyo."},{"id":76,"translation":"Bazobwirwa bati: “Ku kubera ubugarariji bwanyu rero, nimwinjire mu muriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”."},{"id":77,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri, kandi Izorishitsa. Mu gihe rero Twokwereka mu buzima bwawe bimwe mu bihano Twasezeraniye ababangikanyamana, canke Tukakwica imbere yuko bashikirwa na nya bihano, ni kuri Twebwe Allah bazosubizwa ku musi w’izuka kugira Tubahanire ivyo bakoze."},{"id":78,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse hambere yawe Intumwa nyinshi, zaje zirarikira abo zarungitsweko ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ziraheza zirihanganira ibangamira ry’abantu bazo. Muri zo rero, harimwo izo Twakwiganiye ido n’ido amateka yazo; harimwo n’izo Tutakwiganiye amateka yazo, zose rero zikaba zabwirijwe gushikiriza abantu bazo, ivyo zahishuriwe. Nta ho vyakabaye rero, ko Intumwa ishikiriza Aayah canke igitangaro na kimwe, kiretse ko yabishikiriza ku burenganzira no ku bushake vy’Imana Allah. Nihagera rero, ko ingingo y’Imana Allah yo guhana abahakanyi ija mu ngiro, hazocibwa urutunganye vy’ukuri hagati y’Intumwa n’abo zarungitsweko, maze abanyakinyoma bahombe ku kurementaniriza Imana Allah."},{"id":79,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ibitungwa kugira muvyikoreko, maze mwiyunguruze kuri bimwe, ibindi na vyo mufungure inyama zavyo;"},{"id":80,"translation":"Ibitungwa biranabafitiye akamaro kanini cane. Yabibagiriye no kugira muvyunguruzeko ivyo mushaka kwunguruza mubijana mu bihugu vya kure; muranavyiyunguruzako imusozi, mw’ibahari na ho mukiyunguruza mu bwato."},{"id":81,"translation":"Imana Allah, Iranabereka ivyemezo vyayo vyinshi kandi bitomoye, vyerekana ubushobozi n’ububasha vyayo ifise ku biremwa. None ni icemezo nyabaki mu vyemezo vyayo mubeshuza mugahakana!"},{"id":82,"translation":"Mbega none, abahakanyi batigera banyurwa na Aayah hamwe n’ivyemezo vyayo, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo, ryagenze! Bari n’abantu bafise ingabo n’inguvu nyinshi kubarusha, basize n’ibisigarira bigizwe n’inyubakwa n’ibindi vyerekana ko bari bahambaye kubasumba! Ivyo barondeye vyose rero, nta co vyabamariye hageze guhanwa;"},{"id":83,"translation":"Igihe rero abahakanyi bashikirwa n’Intumwa zabo, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, barishimiye ubumenyi bwabo buca kubiri n’ukuri bashikirizwa na nya Ntumwa, maze bakikuzwa n’ibihano bahora bihutira gusaba ko bohabwa[5] ku gutebura.","footnotes":"[5] Iyi Aayah, iremeza ko ubumenyi buca kubiri n’ubwislamu, canke bubutyoza, canke butera amakenga kuri bwo, buba ari ubumenyi budakundwa n’Imana Allah, n’uko umumenyi yisunga ubwo bumenyi, atari mu bakurikizi b’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":84,"translation":"Igihe rero nya bahakanyi bashikirwa n’ibihano vyacu, baciye bemanga bavuga bati: “Twemeye Imana Allah Yo Yonyene, twanagararije mu kwamirira kure ivyo twahora tuyibangikanya”;"},{"id":85,"translation":"Ico gihe rero, ukwemera kwabo nta co kwari kubamarira kandi bamaze kwugarizwa bakagirwa n’ibihano. Ni ukwo vyamye rero ku bahakanyi b’aho hambere, ko ukwemera kwabo bamaze kwagirwa n’ibihano ata co kwaba kubamariye. Aho rero, ni ho abagarariji batemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, baheza bagahanwa, bakagoka bagahona."}]},{"id":41,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Iyi Qor’ani, yahishuwe na Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo, ku Muvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":3,"translation":"Ni Igitabu, Aayah zaco zatomowe bikwiye mu nsiguro no mu ngingo vyazo. Qor’ani yamanuwe yoroshe gutahura mu rurimi rw’icarabu ku bantu baruzi neza;"},{"id":4,"translation":"Ishikiriza inkuru nziza abantu bayemera bakayigendera, ko bagenewe indishi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ikanagabisha abayigarariza ku bihano bibarindiriye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ariko abenshi muri bo, barayirengagiza, ntibayumva ngo baheze bayemere, bayigendere."},{"id":5,"translation":"Abagarariji birengagiza Qor’ani, babwiye Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Imitima yacu irugaye, ntiyoroha ngo itahure ivyo uturarikira kwemera; n’amatwi yacu yarazivye, ntiyumva ivyo uvuga; kandi hagati yacu na we hari ipaziya ituma tutokurikira irarikiramana ryawe. Kubera ivyo rero, kora ivyo ukora wisunze idini ryawe, na twe nyene ntitwicaye, mu vy’ukuri dukora ivyo dukora twisunze idini ryacu, ntiturota tugukurikira”."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri jewe, ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa gusa n’Imana Allah ko Imana yanyu Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ari Imana Imwe Rudende Allah, nimukurikire rero inzira ibashikana kuri Yo, mwongere muyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’ababangikanyamana bateza imitima yabo mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;"},{"id":7,"translation":"Abadatanga imperezwa ngo bayihereze abayigenewe, batanemera izurwa ry’ibiremwa, eka ntibanemera ko Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, bibaho”."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri abemeye Imana Allah, Intumwa yayo n’Ibitabu vyayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe ku bw’Imana Allah, barategekanirijwe impembo ihambaye yamaho."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri, aho nyene murakenyeye mugararize Imana Allah Yaremye isi mu misi ibiri, maze muyigirire ababangikanyi muyibangikanya mu gusengwa! Iyo Mana Yaremye, ni Yo Mana Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":10,"translation":"Iraheza Ishira kuri nya si, imisozi iyigumya, Iranayihezagira kugira izokwame ibeshaho abayibako; maze mu yindi misi ibiri Igera imfungurwa n’ibindi vyose nkenerwa mu buzima bwo kw’isi, gutyo yose hamwe iba ikwiye imisi ine ku bashaka kubaza ikiringo c’iremwa ry’isi n’ibirimwo;"},{"id":11,"translation":"Mu nyuma, ni ho Yatumbera ijuru Irarirema, imbere y’aho rikaba ryari umwotsi, maze Iraribwira hamwe n’isi Iti: “Nimubeho mwubahiriza ibwirizwa ryanje vyanka bikunda!”. Maze ijuru n’isi biragamburuka biti: “Twakwitavye, twicishije bugufi mu bugamburutsi nta ngere, ntiturota duca kubiri n’ibwirizwa ryawe”;"},{"id":12,"translation":"Ni ho rero Imana Allah, Yatunganya iremwa ry’amajuru indwi mu misi ibiri, gutyo ikiringo c’imisi y’iremwa ry’amajuru indwi n’isi, kiba imisi itandatu[2]; Iraheza rero Ihishura mw’ijuru rimwerimwe amabwirizwa yubahirizwa muri ryo, Iranashariza ijuru ryegereye isi n’inyenyeri zakaka nk’amatara, kugira Irikingire kuvogerwa n’amashetani asuma urusaku. Iryo remwa ritangaje ry’ivyo vyose rero, ni indinganizo yateguwe na Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”.","footnotes":"[2] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu ku ntumbero Yo Yonyene Izi kandi Ifise ku biremwa, mu gihe Ishoboye kubirema vyose mu kanya isase."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abahakanyi rero nibirengagiza Qor’ani, inyuma y’aho bayitomorewe bagatomorerwa n’ibiranga Imana Allah, uraheza ubabwire uti: “Ku bwanje, nabagabishije ku bihano bihonya; nk’ivyahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi”;"},{"id":14,"translation":"Igihe Bene Aadi na Bene Thamuudi bashikirwa n’Intumwa z’urutavanako zikababwiriza ziti: “Ntimukiyegereze ikindi kintu kitari Imana Imwe Rudende Allah mu vyo mukora vyose mu gusenga”. Baraheza bishura n’itebura n’akantu bati: “Iyo Imana yacu Rurema Allah, Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende tutayibangikanya na kimwe mu vyo dukora vyose, Yari kumanura abamalayika bakaba ari zo Ntumwa ziturarikira isengwa ryayo. Kuri iyo mvo rero ga mwa Ntumwa mwe! Ni ukuri, turagararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah muturarikira”."},{"id":15,"translation":"Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi rero, baragize amanyama barihambaza ku bantu ku karenganyo, baraheza bavuga n’ubwishime n’akantu bati: “Ni nde aturusha inguvu n’ingabo!”. Mbega ntibabona ko Imana Allah Yabaremye, ari Yo Ibarusha inguvu n’ingabo! Bene Aadi rero, bari n’abantu bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu."},{"id":16,"translation":"Ni ho rero Twabarungikira umuyaga w’igikonyozi umena amatwi mu misi y’akaga kabi, kugira Tubahonje ibihano bisuzuguza kw’isi. Ni ukuri, ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birazusuguza cane kurusha, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakingire."},{"id":17,"translation":"Nayo Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe, Twarabatomoreye inzira ibereye y’ukuri, maze bahitamwo ubupfamaso ha guhitamwo uburongozi, baca bahitanwa n’ibihano bisuzuguza bihonya, bitewe n’ivyaha vy’igarariza ryabo."},{"id":18,"translation":"Twahavuye rero Turokora mu bihano vyahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi, abemeye Imana Allah bakanikingira ibihano vyayo mu kwubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":19,"translation":"Umusi rero abansi b’Imana Allah bazutse bagashorerwa mu muriro, babanje kwegeranirizwa hamwe bose;"},{"id":20,"translation":"Bamaze gushikira no kubona nya muriro, bakigarama ibibi bakoze, amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyabo bizobagiriza ku vyaha n’ibicumuro bari barakoze kw’isi;"},{"id":21,"translation":"Maze bavuge bata imiragwe ku bihimba vyabo bati: “Ni kuki mutwagiriza ivyaha n’ibicumuro twakoze!”. Vya bihimba biheze vyishure biti: “Twashobojwe kuvuga n’Imana Allah Ishoboye kuvugisha ikintu cose, ni na Yo Mana Yabaremye ubwa mbere, ni no kuri Yo rero mwasubijwe mumaze kuzuka, kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze;"},{"id":22,"translation":"Mwakora ivyaha vyanyu kw’isi mwihishije mutazi ko amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyanyu bizobagiriza ku musi w’izuka; ariko ivyo mwakora vyose, mwabikorera mu mpisho mwibwira ko Imana Allah Itazi vyinshi mu vyaha mwakora;"},{"id":23,"translation":"Ukwo kwiyumvira nabi rero Imana yanyu Rurema Allah, ni kwo kwabataye mu muriro, muca muba mu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."},{"id":24,"translation":"Abagarariji rero nibaba bashobora kwihanganira ibihano, nibamenye ko umuriro ari ryo cumbi ryabo; nibatakamba bagasaba gusubizwa kw’isi ngo bakore ivyiza bitegetswe naho, ntibazokwemererwa igisabo cabo."},{"id":25,"translation":"Twarabaretse bagira abagenzi babi babama hafi mu mashetani akomoka mu bantu no mu Majini, maze babaryohereza gukora ibibi no kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, babibagiza no gukora ivyiza bizobagirira akamaro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo vyose rero, bategerezwa kwinjira mu muriro hamwe n’imigwi yahakanye aho hambere yabo mu Majini no mu bantu. Mu vy’ukuri, bari no mu bantu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":26,"translation":"Abagarariji babwiranye hagati yabo bahanurana bati: “Ntimukumvirize iyi Qor’ani ngo mukurikire amabwirizwa yayo; mu gihe Muhamadi ariko arayisoma rero, murayogorera rimwe, mumuciramwo mu kuvuga, mu gukobereza no mugukoma amashi, mushaka ko kumbure yohava akaganzwa agaheba kuyisoma”;"},{"id":27,"translation":"Kubera ivyo rero, ni ukuri Tuzohonja abagarariji bahanurana nk’ukwo, ibihano bikaze mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri Tuzonabaha impembo mbi cane ku vyaha bari barakoze kw'isi;"},{"id":28,"translation":"Ivyo bihano bikaze rero, ari na yo mpembo ikwiye abansi b’Imana Allah, ni umuriro wa Jahannamu; muri wo, ni ho bafise ubuzima budahera, ni yo mpembo yabo kw’ihakana ryabo ry’ivyemezo vyacu[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah, ni icemezo cerekana ububi bwo gukura abantu kuri Qor’ani mu kubabuza kuyumviriza no kuyigendera."},{"id":29,"translation":"Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bazovuga n’ishavu n’akantu bari mu muriro udahera, bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twereke abaduhubishije mu Majini no mu bantu, maze tubahonyange n’ibirenge kugira babe mu nyenga y’umuriro!”."},{"id":30,"translation":"Mu vy’ukuri abavuze bati: “Imana yacu Rurema Itabangikanywa, ni Allah; hanyuma bakaba n’abagororotsi mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; iyo bari ku mpfiro, bururukirwa n’abamalayika bakababwira babahumuriza bati: “Ntimutinye na gato gupfa, vyongeye ntimugire impungenge y’ibikurikira mu buzima bw’inyuma y’aho, kandi ntimwicwe n’intuntu ku vyo musize kw’isi, nimuhimbarwe nyabuna n’Ubwami bw’ijuru mwahora musezeranirwa””."},{"id":31,"translation":"Nya bamalayika barongera bakababwira bati: “Twebwe, turi abahagarikizi n’abatabazi banyu mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. Mu Bwami bw’ijuru, mufise kuronswa ivyo vyose umutima wanyu wipfuza, mukanihitiramwo n’ivyo mushaka;"},{"id":32,"translation":"Ni induhuro y’ivyiza bihimbaye bivuye kwa Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":33,"translation":"Nta n’umwe avuga ijambo ryiza rihimbaye, yoza aruta uwurarikira ukwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, akanakora n’ivyiza bitegetswe, maze akavuga yemanga ati: “Jewe ni ukuri, ndi mu bislamu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah[4]”.","footnotes":"[4] Iyi Aayah irerekana ikibanza c’iteka c’abamenyi barazwa ishinga n’irarikiramana, bisunze ubumenyi nya bumenyi nk’uko Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yabigenza."},{"id":34,"translation":"Iciza gikorwa n’abemeramana bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakaba n’abagwaneza ku bandi, ntikingana mu ndishi n’ikibi gikorwa n’abagarariji baca kubiri n’amabwirizwa yayo, bakanagirira nabi abandi. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, uwukugiriye nabi uramwishura ineza mu bwitonzi, ico kizotuma uwahora ari umwansi wawe ahinduka, maze abe umukunzi wa hafi, akurwanako."},{"id":35,"translation":"Nta wushobozwa kugira inyifato nziza yo gusubiza ineza ku nabi yagiriwe, kiretse abihanganira abandi bagashira imbere ibishimisha Imana Allah; nta n’uwushobozwa kugira iyo nyifato, kiretse uwahawe umugabane uhambaye wo kubaho mw’iteka n’itekane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":36,"translation":"Mu gihe rero shetani yogutera inyoshambi, maze ukibwira ku mutima ko utegerezwa kwihora uwakugiriye inabi, uraheza wikinge ku Mana Allah Iheze Igukingire inyoshambi za shetani, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo uvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa."},{"id":37,"translation":"Mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, ni ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango n’ibisikanya ry’izuba n’ukwezi; ivyo vyose rero, biba ku bushobozi bwayo. Ntimukubamire rero izuba canke ukwezi kuko ari ibiremwa, ahubwo nyabuna nimwubamire Imana Allah Yo Yabiremye nimwaba koko ari Yo musenga mutayibangikanya na kimwe mu biremwa."},{"id":38,"translation":"Ababangikanyamana, nibagira amanyama mu kutubamira Imana Allah, baramenya ko abamalayika bari ku Mana yawe Rurema Allah, batigera bagira amanyama mu kutayubamira, ahubwo mbere ntibahengeshanya kuyininahaza no kuyitazira ijoro n’umurango, kandi bobo rero ntibigera baruha canke ngo badebukirwe[5].","footnotes":"[5] Uhejeje gusoma iyi Aayah gushika ku mpera, uca wubama incuro imwe."},{"id":39,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, kubona isi yagadutse igacika ubukumbagare, Tugize ngo Turamanuye imvura ikagwa kuri nya si yagadutse, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, maze ibiterwa n’ivyimeza bikanaga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Isubiza isi akabombere, igasubira kumera inyuma y’igaduka ryayo, ni ukuri Irashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri, abahusha ukuri bakagarariza Aayah zacu za Qor’ani, bakanazisigura ukutari kwo, ntitubayobewe na gato. Mbega burya none, uwutabwa mu muriro ku bugarariji bwiwe, ni we ntore, canke intore ni uwuzoza ku musi w’izuka atekaniwe ku kudahanwa, ategekanirijwe n’impembo y’ukwemera kwiwe Aayah za Qor’ani! Bagarariji! Nimukore ivyo mwipfuza gukora, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona, Izobibahembera."},{"id":41,"translation":"Mu vy’ukuri abagararije iyi Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma igihe ibashikiriye, bazohanwa nya guhanwa. Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri ni Igitabu gitagatifu gikingiwe guhindagurwa;"},{"id":42,"translation":"Ntivogerwa n’ikinyoma iyo coturuka hose, nta gikurwamwo, nta congerwamwo nta n’igihindurwa muri yo. Yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenugushimwa."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nta co ababangikanyamana bakubwira, kiretse ko bakubwira ico Intumwa zarungitswe hambere yawe zabwiwe n’abo zarungitsweko; ihanganire rero ivyo bakubwira, maze ushishikare irarikiramana. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe ku bigaya, Irahana Igahasha abimonogoje mu bugarariji."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! N’iyo Tugira Qor’ani Twakumanuriye, ikamanuka mu rurimi rutari urw’icarabu, ababangikanyamana bari kuvuga bati: “Ese iyo dutomorerwa Aayah zayo mu carabu, maze tukazitahura”; bari no kuvuga bitangaza bati: “Yemwegaye! Qor’ani iri mu rurimi rutari urw’icarabu, ihishuriwe Umwarabu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi Qor’ani ku bemeramana, ni uburongozi bubakura mu muzimagiza, ni n’umuti w’indwara z’amakenga n’uburyarya ziri mu gikiriza; nayo abatemera Qor’ani, barazivye amatwi, ntibayumva ngo banyurwe, ibatera n’ubupfamaso bw’umushaha, ntibarongora namba”. Abo babangikanyamana rero, ni nk’uwuhamagarwa kandi ari kure cane, ntashobora kwumva uwumuhamagara ngo amwitabe!"},{"id":45,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Igitabu ca Qor’ani, maze Bene Israyeli bicamwo imigwi mu kucubahiriza; muri bo hari abacemeye, harimwo rero n’abagihakanye. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kutihutira guhana abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri barafise amakenga kuri Qor’ani."},{"id":46,"translation":"Uwo wese rero azokora iciza gitegetswe akumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azoba abikoze ku neza yiwe; nayo uwuzokora ikibi mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azobihanirwa ku gatwe kiwe. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya n’umwe mu biremwa mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu inzatsa."},{"id":47,"translation":"Ku Mana Allah Yonyene, ni ho hari ubumenyi bw’isango ry’umusi w’umuhero w’isi; nta n’igitumbwe c’ivyamwa kiva mw’ishurwe ryasambuye; nta n’igitsina-gore gisama eka mbere ntikinavyara imbanyi, kiretse ko ivyo vyose biba ku bumenyi bw’Imana Allah. Umusi rero Imana Allah Yahamagaye ababangikanyamana, maze Ikababwira mu kubatetereza Iti: “Mbega abo mwambangikanya mu bikorwa vy’iyumviramana hamwe no mu kunsenga, bari hehe!”. Bazoheza bishure bati: “Kuri uno musi, turakumenyesheje ko ata n’umwe muri twebwe yokwemanga yemeza ko hari uwubangikanije na Weˮ;"},{"id":48,"translation":"Maze ivyo bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, bizimangane amazimayongo, baheze bizere neza ata kwihenda ko ata buhungiro bafise."},{"id":49,"translation":"Burya, umuntu ntiyigera arambirwa no gusaba Imana Allah ivyiza vyo kw’isi[6]; iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, aca yihebura akiyumvira nabi Imana Allah;","footnotes":"[6] Ivyiza bivugwa ng’aha, ni amatungo, amagara meza, ubutegetsi n’ibindi."},{"id":50,"translation":"Iyo naho Tumuhonjeje inema ivuye ku mpuhwe zacu Twebwe Allah, inyuma y’amagorwa yamukozeko, ntaheza ngo ashime, ni ukuri aca agira akagagazo akavuga ati: “Izi nema ndazihawe kuko ndazikwiye, kandi sinibaza n’uko umuhero w’isi ubaho ngo nzuke; no mu gihe vyoshika ukabaho nkazuka, ngasubira ku Mana yanje Rurema Allah, ni ukuri nzosanga Ubwami bw’ijuru bundindiriye”. Ni ukuri ku musi w’izuka, Tuzomenyesha abagararije Imana Allah ibikorwa vyabo bibi, ni ukuri Tuzonabahonja ibihano bikaze."},{"id":51,"translation":"Iyo rero Twebwe Allah, Duhaye umuntu inema zacu akaroranirwa mu buzima, aca ahindukira akagira amanyama. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, araheza agasaba Imana Allah ayitabaza ko Ikimukurako[7].","footnotes":"[7] Umuntu amenya Imana Allah iyo ari mu magorwa, agaheza akayisaba; ariko iyo Igize ngo Iramukuye muri nya magorwa, aca ayigarariza akanayihambazako."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana Qor’ani bivuye inyuma uti: “Nimumbwire, mu gihe iyi Qor’ani yoba yavuye ku Mana Allah hanyuma mukayigarariza, hari umuhuvyi yoza asumba mwebwe, akaba ari no mw’ihazana riri kure cane y’ukuri!"},{"id":53,"translation":"Abahakana bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, Tuzobereka ivyemezo vyacu mu biba mu turere dutandukanye[8], no mu biba mu kuntu bo nyene baremwe, gushika n’aho bamenya neza ata kwihenda ko Qor’ani ari ukuri kwahishuwe n’Imana Allah. Mbega ntivyari bikwiye kugira bemere Qor’ani n’uwayihishuriwe, kuba Imana yawe Rurema Allah ari Yo Ivyemeza[9], Ikaba ari na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera!","footnotes":"[8] Haba mu gutsinda kw’ubwislamu bukaganza ayandi madini canke mu bitangaro biba mu majuru no mw’isi.\n[9] Nta cemezo coza gisumba icemezo gitanzwe n’Imana Allah."},{"id":54,"translation":"Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abagarariji, bafise amakenga mu kutemera ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah inyuma yo gupfa. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, mu bumenyi bwayo, Irakikuje ibintu vyose, nta na kimwe Itazi."}]},{"id":42,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Aiin Siin Qaaf[2].","footnotes":"[2] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":3,"translation":"Muvugishwamana! Imana Allah Yaguhishuriye iyi Qor’ani, nka kurya Yahishuriye Ibitabu n’Imizingo Abavugishwamana bo hambere yawe, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":4,"translation":"Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, ni na Yo rero Nyenicubahiro-ntangere, Nyenicubahirogisumbavyose."},{"id":5,"translation":"Amajuru ahakwa gusadagurika akurikirana, ku kubera icubahiro aha Nyenimpuhwe; abamalayika na bo bakaninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, bakanasabira abemeramana bari kw’isi, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, bikirengagizwa ntibabihanirwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":6,"translation":"Na barya bigiriye mu gishingo cayo imana zibahagarikira maze bakazisenga, nibamenye ko Imana Allah Ibungabunga ibikorwa vyabo kugira Izobibahanire ku musi w’izuka. Ntumwa y’Imana! Kira noneho, si wewe ujejwe guhagarikira ivyo bakoze ngo uzobibazwe, ahubwo ujejwe gusa kubagabisha ku bihano vyacu;"},{"id":7,"translation":"Twebwe Allah, Twahishuriye Abavugishwamana bo hambere yawe; nk’uko Twaguhishuriye Qor’ani iri mu rurimi rw’icarabu, kugira ugabishe abantu b’i Makka n’abantu bo mu micungararo yaho, ku bihano vyo ku musi w’iyegeranywa, ari na wo musi w’izuka ry’ibiremwa, ata gisivya ko uzoshika. Abantu kuri uwo musi, bazoba bari mu migwi ibiri: umugwi wo mu Bwami bw’ijuru[3] n’umugwi wo mu muriro wama wegenyejwe[4].","footnotes":"[3] Uwo mugwi, ni uw’abantu bemeye Imana Allah bagakurikira n’ivyo bazaniwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).\n[4] Uwo mugwi, ni uw’abantu bagararije Imana Allah bagaca kubiri n’ivyo bazaniwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":8,"translation":"Iyo rero Imana Allah Ishaka ko abantu bose baba umugwi umwe w’abagororotsi, ni ukuri Yari kubigira ata camira. Ariko rero, Yashatse gushira mu mpuhwe zayo uwo Ishatse mu ntore z’ibiremwa. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana, ntibazoronka umuhagarikizi n’umwe abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira bazoronka."},{"id":9,"translation":"Ahubwo rero, ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah, imana zibahagarikira maze barazisenga. Burya Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi Ibwirijwe gusengwa no kwumvirwa n’ibiremwa, ni na Yo rero Izosubiza ubuzima abapfuye bakazuka, ni Yo rero kandi Mushoboravyose."},{"id":10,"translation":"Bantu! Ico muhazanyeko cose mu bijanye n’idini, ingingo y’ukuri kuri co iva ku Mana Allah mu Gitabu cayo no mu nyigisho z’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Uyo Allah rero, ni Yo Mana yanje Rurema, ni kuri Yo nishimikiza nkayizera muri vyose, ni no kuri Yo ngaruka nkicisha bugufi;"},{"id":11,"translation":"Ni Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Yabagiriye abakenyezi baremwe mu nkomoko yanyu nyene, Ibagirira no mu bitungwa bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwabirane maze mugwirirane biciye mu kuvyara, nta na kimwe rero gisa canke gisusa n’Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo. Ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora;"},{"id":12,"translation":"Rugaba w’amajuru n’isi; Igaba Ikaganza impfunguruzo z’ibigega vy’impuhwe n’ibibeshaho ibiremwa, Ihereza uwo Ishatse muri vyo umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa."},{"id":13,"translation":"Emwe bantu! Imana Allah Yabashingiye mw’idini ibwirizwa Yategetse Nuhu, akaba ari na ryo dini ry’ubwislamu Twebwe Allah Twaguhishuriye muri Qor’ani Ntumwa y’Imana, Turanariraga Ibrahimu, Musa na Isa[5]; Turanabasaba mwese ko mutsimbataza idini rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, maze mukaritsimbataza muticamwo imigwi. Irarikiramana ryanyu ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, riraremera cane ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse kugira abe Intumwa, Igashoboza kuyumvira uwugaruka kuri Yo akicisha bugufi.","footnotes":"[5] Izo, ni zo Ntumwa z'inararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l'Azmi”."},{"id":14,"translation":"Ababangikanyamana rero, ntibiciyemwo imigwimigwi, kiretse ko babigize ku kagagazo inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi hamwe n’ivyemezo vy’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Itaba Yaramaze gutanga isezerano ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwumwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose bakagoka, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abatoranye Igitabu ca Tawurati n’Injili mu nyuma yabo, ni ukuri barafise amakenga mu kwemera kwabo, atuma bama bahazana kuri Qor’ani."},{"id":15,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni kuri iryo dini ry’ubwislamu rero Imana Allah Yategetse Abavugishwamana, ukwiye kurarikira abantu ko barikurikira, uheze uritsimbatareko nk’uko wategetswe n’Imana Allah, kandi ntugakurikire namba ivyipfuzo vy’abafise amakenga mu kwemera, badatsimbataye kw’idini. Uraheza uvuge rero wemanga uti: “Naremeye Ibitabu vyose Imana Allah Yamanuriye Abavugishwamana; naranategetswe kubatunganiriza mu ngingo mfashe; Allah, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema; tuzohemberwa ibikorwa vyiza twakoze, na mwe nyene muzohemberwa ibikorwa bibi mwakoze; nta n’impari canke urwanko rukwiye kuba hagati yacu inyuma y’aho ukuri kugaragariye; Imana Allah, Izotwegeranya ku musi w’izuka, kugira Iducire urugororotse mu vyo duhazanako mw’idini; n’amaherezo yacu rero ni kuri Yo, kugira Ihembere umwumwe wese ibikwiranye n’ivyo yakoze”."},{"id":16,"translation":"Na barya baharira mu bijanye n’idini ry'ubwislamu, Imana Allah Yarungikanye Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho abantu bamwumviye bakaryinjira, ivyitwazo n’iharira vyabo ku Mana yabo Rurema Allah, bizobabera impfagusa, Iheze Ibashavurire mu buzima bwo kw’isi; baranategekanirijwe n’ibihano bikaze vy’umuriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":17,"translation":"Allah, ni Yo Mana Yamanuye vy’ukuri Igitabu ca Qor’ani, Imanura n’ibindi Bitabu, Imanura n’umunzane ari bwo butungane, kugira Icire abantu urugororotse. Ntumwa y’Imana! Mbega, ni igiki cogutuma umenya koko ko umuhero w’isi uri hafi gushika!"},{"id":18,"translation":"Abatemera umuhero w’isi, ni bo bihutira gusaba ko ushika vuba bwango; nayo abawemera, baragira impungenge n’ubwoba ku muzo wawo, barazi n’uko ari ukuri, utegerezwa gushika. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, abaharira mu guhakana umuhero w’isi, bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri."},{"id":19,"translation":"Allah, ni Yo Mana Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibintu vy’ingirakamaro ku baja bayo; Ironsa uwo Ishaka muri bo ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri bo, ni na Yo rero Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":20,"translation":"Uwushaka mu kwubahiriza kwiwe amabwirizwa y’idini, indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzomwongerereza indishi y’ibikorwa vyiwe, maze iciza kimwe kigwizwe incuro cumi n’izirenga. Nayo uwushaka guhemberwa ibikorwa vyiwe ng’aha nyene kw’isi, Tuzomuronsa ivyo Twamugeneye kw’isi, ariko mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nta mugabane w’indishi azoronka."},{"id":21,"translation":"Ahubwo rero, ababangikanyamana bafise abo babangikanije mu buhuvyi bwabo, babashingira amabwirizwa mw’idini mu buryo butarekuwe n’Imana Allah! Iyo rero Imana Allah Itaba Yaramaze gutanga isezerano ryo kutihutira guhana ababangikanyamana, mu kurindiriza ibihano vy’umwumwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri bari guhanwa bose bagahona bakagoka. Mu vy’ukuri abirenganya mu kugarariza, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka."},{"id":22,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kuri uyo musi rero, uzobona abirenganije mu bugarariji batekewe n’ubwoba ku kubera ibihano vy’ibibi bakoze kw’isi, kandi bategerezwa kuzobihanirwa. Uzobona n’abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bari mu vyiza bisa, mu mirima n’amagorofa vyo mu Bwami bw’ijuru, bazoronswa ivyo bashaka vyose ku Mana yabo Rurema Allah. Iyo rero, ni yo mpano ihambaye;"},{"id":23,"translation":"Iyo, ni yo nkuru nziza rero, Imana Allah Ishikiriza abaja bayo bayemeye bakiri kw’isi, bakanakora n’ivyiza bitegetswe. Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana batemera umusi w’umuhero w’isi ko ubaho, uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, kiretse gusa urukundo no kwunga ubuvandimwe buri hagati yacu”. Uwakoze iciza rero, Tuzokimuhembera kigwijwe incuro cumi n’izirenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere, Irababarira ivyaha vy’ibiremwa, Nyenindishi, Irabakirira ibikorwa Ikanabigwiriza indishi."},{"id":24,"translation":"Ahubwo rero, ababangikanyamana barinamura bakavuga ko Muhamadi arementaniriza Imana Allah mu kuvuga ko ari Yo Yamuhishuriye, kandi abesha. Ntumwa y’Imana! Biramutse bishitse ukarementaniriza Imana Allah, Ibishatse Yoca Itera ikimangu ku mutima wawe ntushobore kuyirementaniriza, maze Imana Allah Igahanagura ikinyoma, nya kinyoma kigakubitirwa ahashashe, maze ukuri kw’amajambo yayo atigera ahinduka kukiganza. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibinyegejwe mu mishaha."},{"id":25,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yakira ukwigaya kw’abaja bayo iyo bagarutse kuri Yo Yonyene, Ikanababarira ibicumuro vyabo. Irazi rero n’ivyo mugira kw’isi, vyaba vyiza canke bibi."},{"id":26,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, barumvira Imana Allah mu gukora ivyiza Ibategeka, Ikanabongerereza mu mpano zayo[6]. Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo na bo, barategekanirijwe ku musi w’izuka ibihano bikaze.","footnotes":"[6] Nko gushobozwa mu bikorwa no kugwirizwa indishi, n’ibindi."},{"id":27,"translation":"Iyo Imana Allah Ironsa abaja bayo umusesekara w’ibibabeshaho, ni ukuri bogenjejwe n’ubwononyi mu kwishima ku bandi, ariko rero Imana Allah Ibamanurira ibibabeshaho ku rugezo rw’ivyo Ishatse, bibakwiye. Mu vy’ukuri Imana Allah rero, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ibikenewe n’abaja bayo; Nyenukubona, Irabona neza ubuzima babayemwo."},{"id":28,"translation":"Ni na Yo Ituma imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze abantu bakabukura mu cibo inyuma y’aho bari bamaze kwihebura ko ijuru ryataze, Igaheza Igakwiragiza impuhwe zayo ku biremwa; ni Yo rero Muhagarikizi, Ibungabunga abaja bayo mu bugwaneza; Nyenugushimwa, Ishimirwa kw’itunganywa ry’ivyerekeye ibiremwa."},{"id":29,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, iremwa ry’amajuru n’isi mu buryo butangaje, hamwe rero n’ibiremwa bigendagenda vy’ubwoko butandukanye, Yakwiragije muri nya majuru n’isi. Ni na Yo rero mu gihe Yoshaka, Ishoboye kuvyegeranya ku musi w’izuka kandi vyaramaze gupfa."},{"id":30,"translation":"Emwe bantu! Nta kiza kibashikira, haba mw’idini canke mu vy’isi, kiretse ko giterwa n’ivyaha hamwe n’ibicumuro mwebwe nyene mwakoze, kandi burya Imana Allah, Iranirengagiza mu kutabahanira vyinshi mu bicumuro vyanyu."},{"id":31,"translation":"Kandi rero, mwebwe ntimwonanira Imana Allah ngo muronke aho muyihungira kw’isi. Nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, ntimworonka n'umuhagarikizi abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira mworonka."},{"id":32,"translation":"Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, kubona ubwato bungana umusozi bugendera mw’ibahari;"},{"id":33,"translation":"Mu gihe rero Imana Allah Ituma bugendera mw’ibahari Yoshaka, Yohagarika umuyaga ubusunika, maze bukaguma aho buri, ntibushobore kugenda. Mu vy’ukuri mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari n’ihagarara ryabwo mu gihe ata muyaga ubusunitse, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, ku wihanganira ivyagezwe kuri we, agakora ivyiza akareka no gucumura mu bugamburutsi nta ngere, ashima inema n’impano vyayo;"},{"id":34,"translation":"Canke Yoshaka, Yotuma nya bwato butwarwa bukibira bitewe n’ivyaha vya bene bwo. Kandi burya Imana Allah, Iranirengagiza mu kutabahanira vyinshi mu bicumuro vyabo."},{"id":35,"translation":"Abaharira mu bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, nta buhungiro bafise bwo guhunga ibihano vy’Imana Allah."},{"id":36,"translation":"Emwe bantu! Ivyo muronswa rero mu matungo n’abana, n’ibindi, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa akanya gato gusa mu buzima bwo kw’isi; nayo ibiri ku Mana Allah mu nema zo mu Bwami bw’ijuru, ni vyo vyiza cane kandi vyamaho ku bemera Imana Allah n’Intumwa zayo, bakishimikiza ku Mana yabo Rurema Allah, bakayizera;"},{"id":37,"translation":"Na barya birinda gukora ivyaha rutura, bakirinda na canecane gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[7]; n’iyo bashavujwe n’uwubagiriye nabi, baratsinda ishavu bagaheza bakamubabarira ku bw’Imana Allah;","footnotes":"[7] Nko gusambana hagati y’umugore n’umugabo canke hagati y’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi."},{"id":38,"translation":"Na barya bumvira Imana yabo Rurema Allah, maze bakayisenga ari Imwe Rudende, bagatsimbataza ku mwanya amasengesho akwije ibisabwa; bashaka gukora ikintu ico ari co cose bakabanza guhanurana hagati yabo; no mu matungo Twabaronkeje baratanga ishikanwa-bwirizwa hamwe n’imperezwa, bagatanga no mu bindi bikorwa vy’igamburukiramana;"},{"id":39,"translation":"Na barya, iyo barenganijwe birwanako ata we badendereje ngo barenze urugezo rwo kwihora mu guhabuza agateka kabo;"},{"id":40,"translation":"Ingere y’ikibi, ni ikibi ku kindi, uwukoze ikibi akagihanirwa ku rugezo rw’ingere ku yindi; uwubabariye uwamukoreye ikibi na we akareka kwihora, maze nya kibi akakiguza ingere y’iciza ku bw’Imana Allah, uyo rero indishi yiwe ayizeye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abarenganya mu gusomborotsa abandi."},{"id":41,"translation":"Ni ukuri, abirwanyeko mu guhabuza agateka kabo, maze bakihora inyuma yo kurenganywa, abo nta caha namba kiri kuri bo."},{"id":42,"translation":"Mu vy’ukuri, icaha kiri kuri barya barenganya abandi mu kurenza urugezo rwo kwihora, maze bagatandukira n’ivyo batarekuriwe mu kugenzwa n’ubwononyi kw’isi. Abo, ni bo rero bagenewe ibihano bibabaza ku musi w’izuka."},{"id":43,"translation":"Ni ukuri, uwihanganiye ikibi akorewe, maze akababarira uwakimukoreye, mu vy’ukuri iryo babarira ryiwe, ni ukuri riri mu bintu bihambaye bishimwa n’Imana Allah."},{"id":44,"translation":"Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira kubera ubutumva bwiwe mu kurenganya abandi, ntashobora kuronka umuhagarikizi n’umwe amurongora mu nzira yayo. Ntumwa y’Imana! Ku musi w’izuka, uzobona abirenganije mu bugarariji igihe babonye ibihano bibarindiriye, batakambira Imana Allah, bicuza bavuga bati: “Ubwo nta kuntu twosubizwa kw’isi tugaheza tukakwumvira ga Mana!”. Ico gihe rero, ntibazokwumvirwa namba;"},{"id":45,"translation":"Uzobabona rero berekwa umuriro udahera, batanakakaza ku guteterwa n’ubwoba n’akantu, bahumaguza mu kuwuraba badashoboye kuwuhanga ijisho. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, aho bari mu Bwami bw’ijuru, bamaze kubona ivyashikiye abagarariji, bazovuga bati: “Mu vy’ukuri, abahomvye nya guhomba, ni abahomvye ubuzima bwabo hamwe n’ababo mu kwinjira mu muriro udahera ku musi w’izuka”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abirenganije mu bugarariji, ku musi w’izuka bazoba bari mu bihano vyamaho ata gutezurirwa."},{"id":46,"translation":"Abagarariji rero, igihe Imana Allah Yabahanye ku musi w’izuka, ntibazoronka n’umwe mu bahagarikizi yobakingira ibihano vyayo. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira kubera ubutumva bwiwe, ntazoronka inzira kw’isi imushikana ku kuri, nkeswe rero iyomushikana mu Bwami bw’ijuru."},{"id":47,"translation":"Bagarariji! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana yanyu Rurema Allah, maze muyemere imbere yuko umusi w’izuka ata kizowuhagarika, ushika. Kuri uwo musi rero, nta buhungiro muzoronka bwo guhunga ibihano vy’Imana Allah, eka mbere nta n’aho kwinyegeza muzoronka[8];","footnotes":"[8] Iyi Aayah, iranebagura umuntu asivya ico yokoze uno musi ngo nzogikora ejo; ikanahimiriza umuntu guhurumbira ibikorwa vyiza hakiri kare, kugira ntazokwicuze ata co agishoboye gucungura (kurokora)."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nibirengagiza kwemera Imana Allah, uramenya ko Tutakurungitse kugira ubazwe ku bijanye n’ibungabungwa ry’ibikorwa vyabo, ku buryo ubahatira ukwemera, nta co ujejwe atari ishikirizabutumwa gusa. Mu vy’ukuri, iyo Twebwe Allah Duhaye umuntu ubutunzi n’ibindi ku mpuhwe zivuye iwacu maze akaroranirwa, aranezerwa n’akamwemwe kakamusya; iyo naho ashikiwe n’ikiza c’ubukene canke indwara, bitewe n’ivyaha n’ibicumuro abantu bakora, ni ukuri umuntu aca yihakana inema, akidodomba nk’aho atigeze aroranirwa na rimwe."},{"id":49,"translation":"Imana Allah, ni Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Irema ivyo Ishatse; Ironsa uwo Ishatse mu baja bayo, abana b’abahungu gusa; Ikaronsa uwo Ishatse muri bo, abana b’abakobwa gusa;"},{"id":50,"translation":"Canke Ikaronsa uwo Ishatse muri bo uruvange rw'abahungu n’abakobwa; Ikanagira uwo Ishatse muri bo rero ingumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ico Iremye; Mushoboravyose."},{"id":51,"translation":"Nta ho vyakabaye ko haba umuntu avugana n’Imana Allah amaso mu yandi, kiretse ko Imuhishurira; canke akavugana na Yo inyuma y’ipaziya, nka kurya Yavuganye na Musa; canke Ikamurungikira Intumwa Jibrili, maze ikamuhishurira ku burenganzira bwayo ivyo Ishaka kumuhishurira[9]. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenicubahiro-ntangere[10], Intungane mu vyo Ikora.","footnotes":"[9] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.\n[10] Mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo."},{"id":52,"translation":"Muvugishwamana! Twaguhishuriye Qor’ani ivuye iwacu, nka kurya Twahishuriye Abavugishwamana bo hambere yawe; imbere y’iryo hishurirwa rero, ntiwari uzi Ibitabu bahishuriwe, eka mbere ntiwari uzi n’ukwemera canke amabwirizwa ico ari co! Ariko rero, Twagize Qor’ani kuba umuco Turongoza uwo Dushatse muri bo mu nzira igororotse. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, uratomorera abantu ibibashikana mu nzira igororotse y’ubwislamu;"},{"id":53,"translation":"Inzira ibashikana ku Mana Allah, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi vyose, nta we Ibangikanije muri vyo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ku Mana Allah ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwekimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."}]},{"id":43,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku Gitabu ca Qor’ani gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco!"},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakimanuye mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure, muzirikane, muheze munyurwe n’ivyemezo vyaco;"},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri, Qor’ani isanzwe iri mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” kibungabunzwe iwacu. Ni ukuri, iratewe iteka nta ngere, irakingiwe; ntivuguruzanya, ntigiramwo igihushane."},{"id":5,"translation":"Mbega burya, Twokwirengagiza kubamanurira urwibutso rwa Qor’ani, ku kuba muyirengagiza, mukagenzwa n’ubwononyi bwo kutayemera!"},{"id":6,"translation":"Muvugishwamana! Hari benshi mu Bavugishwamana Twarungitse ku bantu bo hambere y’abo warungitsweko;"},{"id":7,"translation":"Nta Muvugishwamana yabashikira, kiretse ko bamuteburako nk’itebura ry’abo warungitsweko;"},{"id":8,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twahonya muri bo abimonogoje gusumba abandi mu guhakana bivuye inyuma Abavugishwamana bacu; abo bahakanyi bari n’abantu bafise inguvu n’ingabo gusumba abo warungitsweko. Ihonywa ryabo rero, ryagiye mu ngiro kubera ubugarariji n’itebura vyabo[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah, irahumuriza igatera n’intege Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi!”. Ni ukuri, bazokwishura ata guhigimanga bati: “Vyaremwe na Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”;"},{"id":10,"translation":"Ni Yo Yabagiriye isi kuba isaso kugira mworoherwe kuyibako; Iyibaciramwo n’inzira kugira mwishire mwizane, mu kurondera ivyobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":11,"translation":"Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, ku rugero ruzwi kandi rukenewe. Turaheza rero Twebwe Allah, Dutotahaza akarere k’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma yo kugaduka karaheza karamera. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutotahaza akarere k’isi kamaze kugaduka kagasubira kumera - Tuzobazura mukava mu kuzimu muri bazima."},{"id":12,"translation":"Ni Yo Yabaremeye ubwoko bwose butandukanye bw’ibikoko n’ibiterwa, Iraheza Ibagirira mu bwato ico mwiyunguruzamwo mw’ibahari, n’ivyo mwiyunguruzako imusozi mu bitungwa; nk’ingamiya, ifarasi, indogobwe, n’ibindi;"},{"id":13,"translation":"Kugira ngo mumaze kuvyurira mugaturura kuri vyo, muheze mwibuke inema y’Imana yanyu Rurema Allah, muce muvuga muyininahaza muti: “Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yatworohereje kwiyunguruza muri ubu buryo, mu gihe tutari kwishoboza kubwiyunguruzamwo”;"},{"id":14,"translation":"Mwongere muvuge muti: “Mu vy’ukuri twese, impera n’imperuka tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah[3]”.","footnotes":"[3] Iki gisabisho, ni kimwe mu vyerekana ko Imana Allah Ironsa ibiremwa inema zitandukanye, n’uko ari Yo rero Ikwiye kwiyegerezwa mu gusengwa mu bihe vyose Itabangikanywa."},{"id":15,"translation":"Ababangikanyamana, bageneye Imana Allah umugabane mu biremwa vyayo, mu kwubahuka kuvuga ko abamalayika ari abana bayo b’abakobwa. Mu vy’ukuri umuntu, ni ukuri arahakana inema z’Imana Allah akimonogoza, akagaragaza ubuhakanyi bwiwe mu kwidodombera ibiza, akiyibagiza inema."},{"id":16,"translation":"Babangikanyamana! Ahubwo rero, bishoboka gute ko Imana Allah Yigenera mu vyo Yaremye abana b’abakobwa, maze mwebwe Ikabahitiramwo abana b’abahungu!"},{"id":17,"translation":"Iyo umwe muri bo ahawe inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, ari na we bomekera kuri Nyenimpuhwe, uwo musi yirigwa yijiriwe, yishwe n’intuntu n’akantu ku kwanka kwibaruka umukobwa."},{"id":18,"translation":"Karashize ingani, mwubahuke kwomekera ku Mana Allah, uwurerewe mu kwamikara ashaza, akaba no mu gihe c’impari adashoboye gutomora ivyemezo kuko yakuriye mu gushaza yorohewe!"},{"id":19,"translation":"Ababangikanyamana, barakanagara bakita abamalayika basanzwe ari abaja ba Nyenimpuhwe, abakobwa! Mbega igihe c’iremwa ry’abamalayika, ni ho bari bari ngo babe ivyabona ko baremwe ari abakobwa! Ukwemeza kwabo ivyo, kuzokwandikwa maze bakubazwe ku musi w’izuka;"},{"id":20,"translation":"Baranavuze bati: “Iyo Nyenimpuhwe Ashaka, ntitwari gusenga na kimwe mu gishingo ciwe[4]”. Banguha! Nta cemezo bafise gishingiye ku bumenyi cemeza ivyo bavuga, bapfa kuvuga ibisunitswe n’impwemu, batanafitiye ivyemezo bivuye ku Mana Allah.","footnotes":"[4] Icitwazo c’ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo mu kubangikanya Imana Allah, nta shingiro namba gifise, kuko Imana Allah Yararungitse Intumwa, Izimanurira n’Ibitabu kugira zishikirize ibiremwa ubutumwa bw’Imana Allah butomoye."},{"id":21,"translation":"None, igihe c’iremwa ry’abamalayika, ni ho bari bari! Canke Twoba Twarabahaye Igitabu imbere y’ihishurwa rya Qor’ani Twamanuye, kikaba ari co bisunga mu kwemeza ko abamalayika baremwe ari abakobwa!"},{"id":22,"translation":"Ahubwo mbere bavuze bati: “Twebwe mu vy’ukuri, twasanze abavyeyi bacu bubahiriza iri dini; mu vy’ukuri rero, na twe twubahiriza iragi badusigiye”."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni uko rero, si wewe ubaye uwa mbere, ntitwigeze Turungika hambere yawe, Umugabisha n’umwe ku bantu bo mu gacimbiri kanaka, kugira abagabishe ku bihano vyacu, kiretse ko abatewe iteka muri bo ryo kworoherwa mu buzima, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri twebwe, twasanze abavyeyi bacu bubahiriza iri dini; mu vy’ukuri rero, na twe twubahiriza iragi badusigiye”."},{"id":24,"translation":"Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hamwe n’izindi Ntumwa zo hambere yiwe, zabwiye abitwaza ko bubahiriza idini barazwe n’abavyeyi babo, ziti: “Mbega, mwubahiriza ivyo mwarazwe n’abavyeyi banyu, n’aho nobazanira ibibarongora mu nzira nziza ibereye gusumba idini mwarazwe na bo!”. Na bo baca binamura n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Twebwe mu vy’ukuri, turiyamirije ivyo mwarungikanwe”."},{"id":25,"translation":"Kubera igarariza ryabo ry’Intumwa rero, Twarabihoye maze Tubahana mu kubafuririra mu kuzimu, canke mu kubasomesha nturi, n'ibindi. Ntumwa y'Imana! Ehe raba rero, ukuntu iherezo ry’abirenganije ku guhakana bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah n’Intumwa zayo, ryagenze!"},{"id":26,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Ibrahimu yabwira se wiwe hamwe n’abantu biwe yarungitsweko, babangikanya Imana Allah nk’abo warungitsweko, ati: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo musenga vyose;"},{"id":27,"translation":"Kiretse gusa Imana Allah Yandemye, ni Yo Inshoboza gukurikira inzira nziza ibereye”."},{"id":28,"translation":"Ibrahimu rero yatumye ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH” rishimangira ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, risagarara, ryubahirizwa n’abakurikiye mu nyuma ziwe, kugira bagaruke ku Mana Allah mu kwigaya, hanyuma bayisenge ari Imwe Rudende batayibangikanya."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero ababangikanyamana hamwe na ba se babo, Nabahaye kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi, sinashoka Ndabahanira ubugarariji bwabo, gushika n’aho bashikiriwe na Qor’ani hamwe n’Intumwa ibatomorera ivyo bakeneye kumenya mw’idini."},{"id":30,"translation":"Bamaze gushikirwa na Qor’ani rero, bavuze bayiyamiriza bati: “Iyi Qor’ani Muhamadi adushikiriza, ni uburozi bweruye! Kandi mu vy’ukuri, turahakanye twivuye inyuma mu kuvuga ko itamanuwe n’Imana Allah”;"},{"id":31,"translation":"Baranavuze kandi bati: “Nimba iyi Qor’ani yamanuwe koko n’Imana Allah, ntiyari gupfuma Iyimanurira umugabo w’ijunja n’ijambo aturuka muri kamwe mu ducimbiri tubiri: agacimbiri ka Makka canke aka Twaa-ifu!”."},{"id":32,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega none ababangikanyamana, ni bo bagabura impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, bagaha ubuvugishwamana uwo bashatse! Twebwe Allah, Twarabagaburiye ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi, Turaheza Tuduza bamwe mu cubahiro gusumba abandi; gutyo haba umutunzi n’umukene, uwufise imirya n’uwufise intege nke; kugira ngo babe magiriranire, bakenerane muri nya buzima[5]. Burya, impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah zo kwinjiza abantu mu Bwami bw’ijuru, ni zo nziza gusumba ivyo bahurumbira kwegeranya mu bihendamaso vy’isi.","footnotes":"[5] Umutunzi mu vyo adashoboye arakenera kubifashwamwo n’umukene; umukene na we mu vyo adafise agakenera kubironswa n’umutunzi, ugasanga rero, umwe wese muri bo, akorera uwundi mu buryo atazi ko ari umukozi wiwe."},{"id":33,"translation":"Iyo hataba kwanka ko abantu baba umugwi umwe w’abagarariji, ni ukuri Twari gufata inzu z’abagarariza Nyenimpuhwe, Tukazigira inzu zibona, z’amagorofa asakajwe umwakaka, akagira n’ingazi buririrako;"},{"id":34,"translation":"Twari no kuzigirira imiryango ikozwe mu mwakaka, zikagira n’ibitanda vy’inyegamo bicarako;"},{"id":35,"translation":"Tukabaha n’ibisharizo vy’inzahabu! Ivyo vyose rero, nta co bimaze kiretse ko ari ibihendamaso vy’ubuzima bugufi bwo kw’isi. Burya rero, ivyiza vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa biri ku Mana yawe Rurema Allah, vyategekanirijwe gusa abagamburukiramana."},{"id":36,"translation":"Uwirengagije Qor’ani ari na rwo rwibutso rwa Nyenimpuhwe ku biremwa, maze akijajara mu kutayemera ngo ayigendere, Tumushinga shetani[6] imwosha nabi kw’isi, maze igacudika na we, ikama imwosha kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.","footnotes":"[6] Akomoka mu Majini no mu bantu."},{"id":37,"translation":"Mu vy’ukuri amashetani, ni ukuri yosha abirengagiza urwibutso rwa Nyenimpuhwe mu kubaburabuza gukurikira inzira y’ukuri, maze akabaryohereza ubuhuvyi, akabankisha ubugororotsi, bagaheza rero bakibwira ku kwihenda ko, ari bo bagororotsi;"},{"id":38,"translation":"Gushika n’aho, umwe mu birengagiza Qor’ani, atwitabiye agapfa, maze akabwira wa mugenziwe bamana hafi amwiyama ati: “Ese iyo tutigera duhura tukamenyana, tukaba kure na kure nk’ubuseruko n’uburengero. Nta mugenzi mubi rero angana wewe!”."},{"id":39,"translation":"Bantu mwirengagije Qor’ani! Kuri uno musi w’izuka, ukwiyama abagenzi banyu babahubishije nta co kubamarira. Mwafadikanije mu kubangikanya Imana Allah ngo musangire ibihano; kira noneho, mubihurirako, ariko umwumwe wese ahanwa ku gatwe kiwe."},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamatwi vyumva ukuri, bikanyurwa! Canke woshobora gutuma ibipfamaso vy’umushaha bibona ukuri bikagukurikira! Canke woshoboza uwahuvye akaba ikigaba ceruye, gukurikira inzira y’ukuri! Ivyo ntibiri mu vyo ujejwe, ahubwo ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu gihe Twotuma upfa imbere yuko utsinda abahakanyi mu bo warungitsweko, ni ukuri nta cobuza ko Tubihora mu kubahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":42,"translation":"Canke mu gihe Twokwereka ibihano Twabasezeraniye kubaha kw’isi; nka birya vyabashikiye ku rugamba rwa Badri, ni ukuri Turashoboye kugutabara ukabatsinda ukanabasuzuguza."},{"id":43,"translation":"Ntumwa y’Imana! Fata nkama ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze ubitsimbatareko. Mu vy’ukuri wewe, uri mu nzira igororotse y’ubwislamu."},{"id":44,"translation":"Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri, ni iteka n’icubahiro kuri wewe n’Abakorayishi, kuko yamanuwe mu rurimi rwabo rw’icarabu kugira bayitahure kuruta, baheze babe aba mbere bayemera maze bayigendere. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, muzobazwa wewe hamwe n’abo warungitsweko ukuntu mwashimye mukongera mukagendera iyo Qor’ani!"},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Urabaza n’abakurikiye Intumwa zacu Twarungitse hambere yawe, ko Twoba Twarigeze na rimwe kubabwiriza gusenga izindi mana mu gishingo ca Nyenimpuhwe! Bazoheza bakwishure ko bitigeze biba na rimwe, kuko Intumwa zose zararikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa."},{"id":46,"translation":"Ni ukuri, Twararungitse Musa kwa Firawuni hamwe n’abunganizi biwe, Tumushigikiza n’ibitangaro vyacu bigaragaza ukuri kwiwe, araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Intumwa ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”;"},{"id":47,"translation":"Amaze rero kubashikiriza ivyemezo vyacu bigaragaza ukuri kwiwe, Firawuni n’abunganizi biwe, baradutse baritwengera batebura n’agahemo n’akantu."},{"id":48,"translation":"Nta cemezo rero Twereka Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse ko caba gihambaye kandi kigaragaza ukuri kuruta ico beretswe imbere yaco. Twaranabahaye ibihano bitandukanye, kugira bavavanure n’ubugarariji, baheze bagaruke ku Mana Allah, maze bayisenge ari Imwe Rudende."},{"id":49,"translation":"Ni ho Firawuni n’abunganizi biwe, baja ng’aho babwira Musa bati: “Wa murozi we[7]! Enda rero nyabuna dusabire Imana yawe Rurema Allah, Iduhe ivyo Yagusezeraniye, maze Idukureko ibihano, mu vy’ukuri niyadukurako ivyo bihano, ni ukuri duca tukwemera, tube abagororotsi”.","footnotes":"[7] Umurozi canke umukonikoni igihe c’umwami Firawuni, yafatwa nk’umuntu w’umumenyi yubashwe, uburozi canke ubukonikoni, ico gihe nticari ikintu kibi kinebagurwa."},{"id":50,"translation":"Musa amaze gusaba ko ibihano vyokurwa, Tugaheza Twebwe Allah Tukabibakurako, baca bisubirako bagashishikara mu buhuvyi."},{"id":51,"translation":"Ni ho rero Firawuni yakanagara asemerera izuba riva, akikijwe n’abubahwa, n’ubwishime n’akantu ati: “Bantu banje! Ubwami bwa Misiri, si ubw’iwanje! Ntimurabona ko imigende y’uruzi rwa Nili itemba ica musi y’igorofa y’ikirimba igaca n’imbere yaco mu mirima yanje! Aho ga ntuze, ntimurabona ko inguvu z’ubwami bwanje ata ho zoza zigereranywa n’iza Musa, ari magoyagi ata nguvu agira, n’ubukene buri mu kumwica!"},{"id":52,"translation":"Ahubwo rero, ni jewe ndi intore gusumba uyu agayitse atanashoboye no gutomora n’amajambo kuko avuga uburimi;"},{"id":53,"translation":"Mbega iyo aba ari Intumwa vy’ukuri, ntiyari gupfuma amanurirwa imiringa y’inzahabu, canke akaza aherekeranye n’abamalayika b’urutavanako, bemeza ko ari Intumwa koko twarungikiwe n’Imana Allah!”."},{"id":54,"translation":"Ku kubera iryo jambo rero, Firawuni yarakinishije ubwenge bw’abantu biwe abaca iyondoyondo mu kubararikira ubuhuvyi, maze baramwumvira mu guhakana Musa. Mu vy’ukuri, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":55,"translation":"Igihe rero Dushavurijwe n’ubugaba bwabo bwo guhakana bivuye inyuma Musa n’ivyemezo yabazaniye, Twaciye Tubihora mu kubahana ubutarariye, maze Tubasomesha nturi bose barahona;"},{"id":56,"translation":"Turaheza Tubagira akayazwe n’iciro ry’umugani ku bigaba vyo mu nyuma zabo, Tubagira n’inkebuzo ku bazokurikira."},{"id":57,"translation":"Ntumwa y’Imana! Igihe uciriwe agace ka Isa mwene Mariyamu, ababangikanyamana mu bantu warungitsweko bariko barahazana na we, baciye bicwa n’akamwemwe ko baronse icitwazo c’uko imana zabo babangikanya n’Imana Allah, ari nka Isa mwene Mariyamu ku banaswara[8];","footnotes":"[8] Ivyo vyabaye igihe hahishurwa Aayah ya 98 mu gisomwa c’Abavugishwamana: “Bagarariji! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana vy’ubwoko bwose, mwasenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibicanirizo vy’umuriro wa Jahannamu; mwebwe mwese rero mutegerezwa kuwinjira”. Ababangikanyamana baciye bavuga bati: “Turemeye ko imana zacu ziba nka Isa mwene Mariyamu ku banaswara”, haca hahishurwa Aayah ya 101 muri ico gisomwa nyene: “Mu vy’ukuri, abo Twamaze kumenya ko bafise amahirwe yo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, abo ni bo rero bazokwigizwa kure y’umuriro wa Jahannamu”; yerekana ko ikizotabwa mu muriro kuko cabangikanijwe n’Imana Allah, ari icasenzwe kigashima gusengwa mu gishingo cayo."},{"id":58,"translation":"Baraheza bavuga bati: “Mbega none, imana zacu dusenga ni zo nziza, canke Isa mwene Mariyamu asengwa n’abanaswara, ni we mwiza! Mwene Mariyamu rero, niyaba azohanwa mu muriro kuko yasengwa, uwo muriro turemeye kuwujamwo twebwe hamwe n’imana zacu”. Ntumwa y’Imana! Ntibaguciriye agace ka Isa mwene Mariyamu, atari ukugira gusa baguharirize, ahubwo mbere bobo ni abantu bakunda guharira mu kinyoma."},{"id":59,"translation":"Burya Isa mwene Mariyamu, si ikindi kiretse ko ari Umuja Twebwe Allah Twahaye inema yo kuba Umuvugishwamana, Twongera Tumugira icemezo n’inkebuzo kuri Bene Israyeli, vyerekana ubushobozi n’ububasha vyacu."},{"id":60,"translation":"Bantu! Iyo Dushaka rero, Twari kugira abamalayika bakaba kw’isi, bagakurakuranwa kuri yo, ha kuba ari mwebwe Bene Adamu mugenda muyikurakuranwako."},{"id":61,"translation":"Mu vy’ukuri, umuzo wa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) imbere yuko umuhero w’isi ushika, ni ikimenyetso cuko nya muhero uzoba ugiye gushika. Ntimukagire amakenga rero ko umuhero w’isi ubaho, maze munkurikire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah, iyi ni yo nzira igororotse izobashikana mu Bwami bw’ijuru."},{"id":62,"translation":"Shetani ntikababuze ku nyoshambi zayo, ko munyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabaha; mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara."},{"id":63,"translation":"Igihe Isa mwene Mariyamu aziye kuri Bene Israyeli, akaza abazaniye n’ivyemezo bigaragaza ukuri kwiwe, yababwiye ati: “Ni ukuri, naje kuri mwebwe nahawe ubuvugishwamana kugira ndabatomorere bimwe mu vyo muhazanako mw’idini; nimugamburukire rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mwongere munyumvire mu vyo ndababwirije;"},{"id":64,"translation":"Mu vy’ukuri Allah, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema, nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose, munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya na kimwe mu biremwa, iyi ni yo nzira igororotse ibashikana kuri Yo”."},{"id":65,"translation":"Ni ho rero abanaswara bicamwo imigwimigwi ku vyerekeye ubuvugishwamana bwa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)[9]. Uguhanwa nya guhanwa rero ku musi w’izuka, ni ukw’abirenganije mu kwita Isa mwene Mariyamu ico atiswe n’Imana Allah.","footnotes":"[9] Mu banaswara rero, harimwo abemera vy’ukuri ko Isa mwene Mariyamu, ari Intumwa y’Imana nk’uko yiswe n’Imana Allah; hakabamwo n’abemera ko ari umwana w’Imana; harimwo rero n’abemera ko ari imana."},{"id":66,"translation":"Abiciyemwo imigwimigwi ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, nta kindi barindiriye kiretse umuhero w’isi uzobashikira giturumbuka, ata vyo bari biteze."},{"id":67,"translation":"Abakunzi pfampfe kw’isi, kuri uyo musi w’izuka bazohinduka abansi bigaramane, kiretse gusa abakunzi pfampfe bakundanye ku mvo z’ubugamburukiramana, urukundo rwabo bakundanye kw’isi, ruzobandanya no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":68,"translation":"Bazohumurizwa n’Imana Allah bati: “Emwe baja banje! Kuri uno musi, nta bwoba kuri mwebwe bwo guhanwa, eka mbere mwebwe ntimunicwa n’intuntu ku vyo mwasize kw’isi”;"},{"id":69,"translation":"Abemeye Aayah n’ivyemezo vyacu, maze bakagendera n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa Twabarungikiye, bicisha bugufi;"},{"id":70,"translation":"Bazobwirwa rero bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru, mwebwe hamwe n’abakenyezi banyu b’abemeramanakazi, maze mwakirwe mw’iteka n'itekane, akamwemwe kabasya”."},{"id":71,"translation":"Muri nya Bwami rero, bazozimanwa imfungurwa ku masahani y’inzahabu, baherezwe n’ibinyobwa mu birahuri vy’inzahabu nyene. Muri Bwo, hariyo ivyo bipfuza vyose kandi biryoheye n’ijisho. Bazokezwa bati: “Mwebwe rero, muzokwibera mu Bwami bw’ijuru ibihe bidahera;"},{"id":72,"translation":"Ubwo rero, ni bwo Bwami bw’ijuru mwarazwe n’Imana Allah ku mpuhwe zayo, ku kubera ivyiza mwari mwakoze kw’isi;"},{"id":73,"translation":"Muri Bwo, mwarateguriwe ivyamwa vy’ubwoko bwinshi, mufungurako”."},{"id":74,"translation":"Mu vy’ukuri, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazoba bari mu bihano vya Jahannamu ibihe bidahera;"},{"id":75,"translation":"Ntibazotezurirwa na gato mu bihano, muri nya bihano bazoba bihebuye nya kwihebura;"},{"id":76,"translation":"Kandi Twebwe Allah, ntitwabarenganije namba ku bihano Twabahaye, ariko ni bo nyene birenganije ku bugaba bwabo."},{"id":77,"translation":"Abanyavyaha rero, bamaze kwinjizwa mu muriro, bazokwiyambaza umumalayika awucungereye bati: “Ewe Maaliki! Dusabire Imana yawe Rurema Allah Itwice tuzimangane, maze turuhuke ibihano turimwo!” Wa mumalayika na we azobishura ati: “Mu vy’ukuri, nta buhungiro mufise, muzowubamwo ibihe bidahera”;"},{"id":78,"translation":"Maze Imana Allah Ice Ibabwira Iti: “Ni ukuri, Twarabazaniye ukuri mwashikirijwe n’Intumwa Twabarungikiye, ariko rero abenshi muri mwebwe mwaranse kugukurikira”."},{"id":79,"translation":"Ahubwo rero, mbega ababangikanyamana boba bapfunditse umugambi wo kuburagiza ukuri Twabazaniye! Usangwa biri ukwo rero, mu vy’ukuri na Twebwe Allah, Twarabateguriye ibihano bibakwiye."},{"id":80,"translation":"Canke ababangikanyamana boba bibaza ko Twebwe Allah Tutazi ivyo bahisha mu mushaha, Tutumva n’ivyo bavuga mu bwongoshwe! Ego cane Turabizi kandi Turavyumva, kandi n’intumwa zacu z’abamalayika zirandika zitihenda ivyo bakora."},{"id":81,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana bibwira ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah, uti: “Nyenimpuhwe iyo Aba Afise umwana nk’uko mwibwira, ni jewe nobaye uwa mbere mu kwiyegereza nya mwana nkamusenga nk’uko mwibaza, ariko rero kizire ko Nyenimpuhwe Yogira umugore canke umwana;"},{"id":82,"translation":"Nihaninahazwe rero Imana Rurema Allah, Yaremye amajuru n’isi Ikarema n'Ubuhangamo buhambaye, mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera”."},{"id":83,"translation":"Ntumwa y’Imana! Reka abomekera umugore canke umwana ku Mana Allah bagume mw’irementanya ryabo bafyinata kw’isi, gushika igihe bahuye n’umusi wabo basezeraniwe guhanirwako[10].","footnotes":"[10] Ivyo bihano basezeraniwe, bakaba bashobora kubihabwa bakiri kw’isi, canke bakabihabwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke bakabihabwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":84,"translation":"Nyenimpuhwe rero, ni Yo Mana Isengwa ari Imwe Rudende mw’ijuru no mw’isi, ni na Yo rero Intungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n'ibiremwa hamwe n’ivyo bizirikana."},{"id":85,"translation":"Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenubwami Agaba Akaganza amajuru indwi n’isi indwi hamwe n’ibiri hagati yavyo vyose, ni Yo Izi isango nyezina ry’igihe umuhero w’isi uzoshikirako, ni no kuri Yo rero muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze."},{"id":86,"translation":"Abasengwa n'ababangikanyamana mu gishingo cayo[11], ntibazoshobora kuvugira umuntu n’umwe ku Mana Allah, kiretse ko bazoshobora kuvugira gusa abemanze ukuri mu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba bazi ukuri kw’ivyo bemeye bakemanga.","footnotes":"[11] Abavugwa ng'aho, ni abasengwa mu biremwa mu gishingo c'Imana Allah badashimishwa n'iryo sengwa; nk'abamalayika, Intumwa Isa mwene Mariyamu, Uzayiru n'abandi mu beranda."},{"id":87,"translation":"Ntumwa y’Imana! Niwaramuka ubajije ababangikanyamana uwabaremye uwo ari we, ni ukuri bazokwishura ata guhigimanga ko baremwe n’Imana Allah. None, ni gute bayibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!"},{"id":88,"translation":"Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yaraganyiye Imana yiwe Rurema Allah, bitewe n’uko abantu bamuhakanye bivuye inyuma, ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, aba bantu ntibakwemera Wewe hamwe n’ubutumwa Wandungikanye”;"},{"id":89,"translation":"Maze Imana Allah Ica Imubwira Iti: “Irengagize ibangamira ryabo, uheze ubabwire uti: “Nihasasagare amahoro y’Imana Allah, singera ingere y’ikibi ku kindi”. Bitebe bitebuke rero, bazomenya ibizobashikira mu bihano bategekanirijwe ku musi w’izuka”."}]},{"id":44,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku Gitabu ca Qor’ani gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco!"},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, ryuzuyemwo imigisha myinshi mu kwezi kwa Ramadhani. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Ibitabu Turungika n’Intumwa kugira Tugabishe abantu ku bihano vyacu."},{"id":4,"translation":"Muri nya joro ry’iteka rero, abanditsi mu bamalayika, bashirirwa ahabona ingingo yerekeye ikintu cose kizotunganywa kigashirwa mu ngiro muri uwo mwaka;"},{"id":5,"translation":"Ingingo yubahirizwa kw’itegeko n’ubumenyi bivuye iwacu Twebwe Allah. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse ku bantu Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’izindi zarungitswe hambere yiwe;"},{"id":6,"translation":"Mu ntumbero yo kugirira impuhwe abantu zarungitsweko, impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, mu vy’ukuri ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa vyose; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n’ibiremwa hamwe n’ivyo bizirikana;"},{"id":7,"translation":"Ni Yo Rurema Yaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo. Nimwaba rero muzi neza ivyo mu buryo buzira amakenga, nimumenye ko Iyaremye ivyo vyose, ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri;"},{"id":8,"translation":"Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka. Ni Yo Mana yanyu Rurema, Ikaba n’Imana ya ba so bo hambere yanyu, nimuyisenge rero mutayibangikanya na kimwe mu biremwa."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, ababangikanyamana bafise amakenga ku kuri wabazaniye, baratwawe n’ibihendamaso vy’isi n’ubufyinyi."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Barindire rero bazokwibonerako, umusi ijuru ryafumvye umwotsi ugaragara, ukwiragiye hose;"},{"id":11,"translation":"Ugahwikira abantu bose, maze bakabwirwa bati: “Iki rero, ni co gihano kibabaza cane”;"},{"id":12,"translation":"Bagaheza bagasaba gukurwako nya gihano batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Udukureko kino gihano. Uramutse Ukidukuyeko, ni ukuri twoca tukwemeraˮ."},{"id":13,"translation":"Mbega bokwibuka gute inyuma y’aho bamanuriwe nya gihano, kandi baramaze gushikirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) itomora amabwirizwa y'Imana Allah;"},{"id":14,"translation":"Hanyuma bakayirengagiza bakanavuga ko ari umwigishwa[2] akaba n’umusazi, n’uko atari Intumwa namba!","footnotes":"[2] Ashikiriza ivyo yigishijwe n’abantu canke ba senyagara canke amashetani."},{"id":15,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzobakurako igihano umwanya muto, maze murabe ko mu vy’ukuri mutazosubira mu bugarariji n’ubuhuvyi mwahoramwo[3]. Muri ico gihe rero, Tuzoca Tubahana kandi;","footnotes":"[3] Ivyo rero vyarashitse, ariko ntibahavuye bemera nk’uko basezeranye."},{"id":16,"translation":"Umusi Twacakiye abagarariji, maze Tukabahana nya kubahana, ni wo musi w’izuka rero Tuzobihorerako."},{"id":17,"translation":"Ni ukuri, hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, Twaragerageje abantu ba Firawuni, maze Tubarungikira Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yubashwe, baraheza barayihakana bivuye inyuma, Duca Turabahana. Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Tuzohana abo warungitsweko, nibatakwemera;"},{"id":18,"translation":"Musa araheza ababwira ati: “Enda nyabuna rero, nimumpe abaja b’Imana Allah muri Bene Israyeli, kugira bayiyegereze mu vyo bakora vyose, banayisenge ari Imwe Rudende; jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa kuri mwebwe, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo mpishurirwa;"},{"id":19,"translation":"Kandi ntimukagire amanyama ku Mana Allah mu guhakana Intumwa zayo; jewe mu vy’ukuri, ndabazaniye icemezo gitomoye cemeza ukuri kwanje;"},{"id":20,"translation":"Mu vy’ukuri, ndikinze ku Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, Inkingire ko mwonyicisha amabuye;"},{"id":21,"translation":"Nimutanyemera ku vyo ndabazaniye, murandeka nidegemvye mutangeramiraˮ."},{"id":22,"translation":"Musa amaze kubona ko bamuhakanye bivuye inyuma, ni ho yasaba atakambira Imana yiwe Rurema Allah ati: “Mu vy’ukuri aba bantu, ni abanyavyaha bakubangikanyaˮ."},{"id":23,"translation":"Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Musa! Muri iri joro, uragenda ujanye abaja banje bakwemeye bakagukurikira; mu vy’ukuri, Firawuni n’ingabo ziwe bahava babomako, babatere;"},{"id":24,"translation":"Maze ureke ibahari rigume ritururuye nk’uko risanzwe, mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava basomeshwa nturi”."},{"id":25,"translation":"Inyuma y’isomeshwa nturi rero, Firawuni n’ingabo ziwe basize ibintu vyinshi; imirima itotahaye, amariba y’amazi atemba;"},{"id":26,"translation":"N’indimo hamwe rero n’inzu ziteye igomwe;"},{"id":27,"translation":"Hamwe rero n’inema nyinshi bari babayemwo, borohewe mu buzima;"},{"id":28,"translation":"Ni nk’ico gihano rero Imana Allah Iha abihakana inema zayo, maze bakayigarariza. Inyuma y’ihonywa ryabo rero, ivyo vyose Twabiraze abandi bantu muri Bene Israyeli."},{"id":29,"translation":"Ijuru n’isi, ntivyigeze biririra Firawuni n’ingabo ziwe; kira noneho, ntibari no kurindirizwa ngo ntibahanwe."},{"id":30,"translation":"Ni ukuri, Twaranarokoye Bene Israyeli mu bihano bisuzuguza vyo gucurwa bufuni na buhoro;"},{"id":31,"translation":"Maze Tubakiza mu kubakura kw’izosi Firawuni; mu vy’ukuri Firawuni, yari no mu bantu bagira amanyama ku bandi, bimonogoza mu bugarariji."},{"id":32,"translation":"Ni ukuri Twatoye Bene Israyeli Tubizi, mu kubatera iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;"},{"id":33,"translation":"Maze Tubaha n’ibitangaro bazaniwe na Musa, birimwo igeragezwa rigaragara kuri bo."},{"id":34,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri aba babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ni ukuri bavuga bahakana izurwa ry’ibiremwa;"},{"id":35,"translation":"Bakavuga bati: “Umuntu apfa rimwe! Urupfu ni urwo nyene rwo kw’isi nta rundi; ntituzonazuka inyuma yo gupfa ngo duharurirwe ivyo twakoze, duheze tubihemberwe!”."},{"id":36,"translation":"Bakongera bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”."},{"id":37,"translation":"Abo babangikanyamana b’i Makka, ni bo bahawe ubutore mu nguvu n’inema gusumba abandi ku buryo Tutobahana! Canke ni abantu b’umwami Tubba’i[4] hamwe n’imigwi y’abagararije hambere y’abo! Abo bose rero hamwe n’ubutore mu nguvu n’inema Twabahaye, Twarabahanye ku bugarariji bwabo Turabahonya. Mu vy’ukuri, bari abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.","footnotes":"[4] Tubba-i, ni umwami yigeze gutwara Yemeni, yakomoka mu bwoko bwa Al-Himyar."},{"id":38,"translation":"Ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu ntumbero yo gufyinata;"},{"id":39,"translation":"Ntitwabiremye, kiretse ko kwari ukugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi intumbero y’Imana Allah mu kurema."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri umusi w’izuka, ari na wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, ni ryo sango ntarengwa ryabo bose;"},{"id":41,"translation":"Umusi umugenzi ata na kimwe azomarira mugenziwe, eka mbere nta n’uwuzotabara uwundi;"},{"id":42,"translation":"Kiretse uwuzogirirwa impuhwe n’Imana Allah mu bemeramana, maze akagira uwo avugira kuri Yo, ku burenganzira bwayo. Mu vy’ukuri rero Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":43,"translation":"Mu vy’ukuri, igiti Al-Zaqquumu kinagira mu nyenga y’umuriro;"},{"id":44,"translation":"Ivyamwa vyaco birura, binuka utokwumva, ni zo mfungurwa z’umunyavyaha, na canecane uwubangikanya Imana Allah;"},{"id":45,"translation":"Uwuriye nya vyamwa, birabira mu nda; nka kurya kw’ubutare bwayongejwe ku muriro;"},{"id":46,"translation":"Bugasebura nka kurya kw’amazi yabize akaryimara;"},{"id":47,"translation":"Abamalayika, ku musi w’izuka bazobwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha, maze mumuterere mu nyenga y’umuriro ururumba;"},{"id":48,"translation":"Hanyuma mumusuke ku mutwe amazi asebuye akaryimara, maze yumvirize ibihano vyayo”."},{"id":49,"translation":"Maze abwirwe n’agashinyaguro n’akantu ati: “Honja rero ibihano. Mu vy’ukuri, kw’isi wari umunyacubahiro, umwubahwa mu bantu bawe."},{"id":50,"translation":"Banyavyaha! Ni ukuri ibi bihano muhawe kuri uno musi, ni bimwe mwahora mugirako amakenga ko bibaho”."},{"id":51,"translation":"Mu vy’ukuri, abagamburukiye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoba bari mw’icumbi ritekanye ryubashwe;"},{"id":52,"translation":"Mu mirima itotahaye, icamwo n’amazi atemba y’imbizi;"},{"id":53,"translation":"Bazoba bambaye impuzu zishonywe mw’iharire yoroshe n’iyiremereye, bicaye barabana amaso mu yandi;"},{"id":54,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahaye abagamburukiramana Ubwami bw’ijuru Tukabambika n’impuzu z’iteka - Tuzobatera n’iteka ryo kubashingira abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);"},{"id":55,"translation":"Muri Bwo, bazosaba guherezwa amoko yose y’ivyamwa bipfuza, batekaniwe ku kuba nya vyamwa bitigera bihundura;"},{"id":56,"translation":"Muri nya Bwami, ntibazoshikirwa n’urupfu ngo bapfe, kiretse urupfu rwa mbere bahonjeje bakiri kw’isi; Imana Allah, Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba;"},{"id":57,"translation":"Ivyo bikazoba ku mpano no ku bugwaneza bw’Imana yawe Rurema Allah. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye."},{"id":58,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani, mu kuntu isomwa no mu nsiguro yayo mu rurimi rwawe, kugira bibuke baheze bikebuke;"},{"id":59,"translation":"Rindira rero ineshwa canke ihanwa ry’ababangikanyamana Twagusezeraniye, na bo nyene mu vy’ukuri baguteze imisi ko uneshwa canke ugapfa."}]},{"id":45,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri mu majuru indwi, no mw’isi izosokorokamwo ibiremwa, ari na yo irimwo ibiremwa bitandukanye mu bwoko no mu ndemo, ni ukuri muri ivyo vyose harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bavyemera;"},{"id":4,"translation":"No mw’iremwa ryanyu mwebwe abantu, n’iremwa ry’ibindi biremwa bigendagenda bikwiragiye mw’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bantu bayemera bakemera n’amabwirizwa yayo ata gukekeranya;"},{"id":5,"translation":"No mw’ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igwisha ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’isunikwa ry’umuyaga uzanana impande zose z’isi ku neza yanyu, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa n'ivyemezo vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Tugusomera vy’ukuri. Mbega none, inyuma ya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ko ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri Itabangikanijwe, ni inkuru nyabaki bokwemera!"},{"id":7,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’umubeshi ruhebwa wese, umunyavyaha;"},{"id":8,"translation":"Yumva Aayah z’Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani zisomwa, hanyuma akarendegera mu bugarariji, akagira n’amanyama n’akantu mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo, nk’aho yoba atigeze yumva nya Aayah zisomwa. Ntumwa y’Imana! Mushikirize inkuru y’incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza ku musi w’izuka;"},{"id":9,"translation":"N’iyo hagize ico amenya muri Aayah zacu, agifata minenegwe atebura. Uyo rero, ari mu bagenewe ibihano bisuzuguza ku musi w’izuka;"},{"id":10,"translation":"Imbere yabo, hari umuriro wa Jahannamu ubarindiriye. Muri ico gihe rero, n’ivyo begeranije mu matungo n’abana nta na kimwe bizobamarira. Eka mbere n’ivyo bagize abahagarikizi bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co bizobamarira. Bazoba bari no mu bihano bihambaye."},{"id":11,"translation":"Iyi Qor’ani Twamanuye, ni uburongozi bukura abantu mu muzimagiza, ikaba n’icemezo c’ukuri kibashikana mu nzira igororotse. Nayo abagararije bagahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, ku musi w’izuka, barategekanirijwe ibihano bibi cane kandi bibabaza;"},{"id":12,"translation":"Allah, ni Yo Mana Yabagiriye ibahari, kugira ricemwo ubwato bungana umusozi kw’itegeko ryayo; no kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa; no kugira rero muyishimire, muheze muyiyegereze muri vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya;"},{"id":13,"translation":"Yaranaborohereje kwikora ku biri mu majuru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri, n’ibindi, no ku biri kw’isi; nk’ibitungwa, ibiti, n’ubwato, n’ibindi; ivyo vyose bikaba ari impano mwahawe n’Imana Allah, kugira muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abemeye Imana Allah bagakurikira n’Intumwa yayo, bababarire ababagiriye nabi mu babangikanyamana batizeye indishi ku Mana Allah, batanatinya n’ibihano vyayo, kugira Imana Allah Izobahanire ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw’isi;"},{"id":15,"translation":"Uwukoze iciza rero, azogihemberwa ku neza yiwe. Uwukoze ikibi, na we nyene azogihanirwa ku gatwe kiwe. Hanyuma ga bantu! Impera n’imperuka muzosubizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, maze Ihembere umwumwe wese ivyo yakoze."},{"id":16,"translation":"Ni ukuri, Twarahaye Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati n’Injili; Tubaha no kwubahiriza ingingo z’ibiri muri ivyo Bitabu; Tugira n’Abavugishwamana benshi muri bo, mu ruvyaro rwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Tubaronsa n’ibibabeshaho vyiza birekuwe, Tubatera n’iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;"},{"id":17,"translation":"Tubaha n’ingingo zitomoye mu mabwirizwa y’ibirekuwe n’ibibujijwe, hamwe rero n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma; ntibanahazanye ngo bicemwo imigwi, kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi, bitewe no kurenganyana hagati yabo mu ntumbero yo kurondera icubahiro canke ubutegetsi. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ku musi w’izuka, Izobacira urutunganye ku vyo bahora bahazanako kw’isi[2];","footnotes":"[2] Iyi Aayah, irihaniza abantu ko batokwigenza nka Bene Israyeli mu guhazana bicamwo imigwi mw’idini, mu ntumbero yo kurondera ivyubahiro n’ubutegetsi, kuko bohava babihanirwa nk’uko Bene Israyeli babihaniwe."},{"id":18,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu nyuma rero, ni ho Twagushingira ingingo z’amabwirizwa y’idini atomoye. Kurikira rero izo ngingo maze uzubahirize. Ntugakurikire ivyipfuzo vy’abadatahura nya ngingo, ata n’ukuri bazi[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah, irerekana ko idini ritunganye mu ngingo no mu mabwirizwa vyayo, ari ubwislamu; bikaba ngombwa rero, ko akurikizwa ata guhesha, ha gushira imbere ivyipfuzo vy’abantu."},{"id":19,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri mu gihe wokurikira ivyipfuzo vyabo, nta na kimwe bokumarira ngo bagukure mu bihano vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, baratabarana bakagira n’urunani mu kurwanya abemeramana. Burya Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi Atabara abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa yayo."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani Twakumanuriye, irereka abantu itandukaniro riri gahati y’ukuri n’ikinyoma, ikaba n’uburongozi n’impuhwe ku bantu bemera ata gukekeranya, ko yoyo ari ukuri kuva ku Mana Allah."},{"id":21,"translation":"Ahubwo rero, abubahuka gucumura izuba riva, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa z’Imana, bagaca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah bakanayibangikanya, bibaza ko mu buzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, Twobafata co kimwe n’abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo, bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakanayisenga beza n’ivyo bakora vyose ku bwayo! Ingingo yabo yo kwiyumvira ko abanyavyaha n’aberanda bofatwa kumwe, ni mbi cane."},{"id":22,"translation":"Imana Allah, Yaremye amajuru n’isi vy’ukuri mu ntumbero yo kubatunganiriza; no kugira umwumwe wese mu bantu azohemberwe ivyo yakoze ku musi w’izuka, kandi ntibazorenganywa namba."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwigiriye ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe, Imana Allah Iraheza Iramuhubisha kandi yaramaze gushikirwa n’ubumenyi n’ivyemezo; Itera n’ikimangu ku mutima wiwe ntihagira na kimwe atahura ngo yikebuke; Ishira no ku maso yiwe ipaziya, ntiyaba akibona ivyemezo vyayo! Ni nde wundi none yomushoboza kuba umugororotsi, inyuma y’aho Imana Allah Imurekeye agahuba ku bugaba bwiwe! Bantu! Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko uwo Imana Allah Iretse agahuba ku bugaba bwiwe, ata wushobora kumurongora mu nzira yayo[4]!","footnotes":"[4] Iyi Aayah, irihaniza umuntu gukora ivyo akora yisunze ivyipfuzo vyiwe, ha kwisunga ingingo n’amabwirizwa vy’Imana Allah."},{"id":24,"translation":"Ababangikanyamana bavuze bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Ubuzima, si ikindi kiretse ko ari ubu buzima nyene tubayeho kw’isi, nta bundi buzima bubaho inyuma yo gupfa; nta n’ikindi gituma dupfa tugahona, kiretse ibihe bidutitura tugapfa, si Imana Allah”. Abo babangikanyamana rero, nta bumenyi bafise ku vyerekeye ubuzima no gupfa hamwe n’izurwa ry’ibiremwa, bapfa kuvuga gusa ivyo bibwiye;"},{"id":25,"translation":"N’iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, nta cemezo baronka bisunga, kiretse ukuvuga bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri, ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”."},{"id":26,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, uti: “Imana Allah, Ibaha ubuzima mukaba kw’isi ikiringo Ishatse; hanyuma Ikabaka nya buzima mugapfa ikiringo co kubaho kwanyu giheze; mu nyuma rero, Izobasubiza ubuzima muzuke, maze Ibegeranirize hamwe mwese ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutuma abantu bapfa, no mu kubasubiza ubuzima bakazozuka ku musi w’izuka”."},{"id":27,"translation":"Imana Allah, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru indwi n’isi n’ibiri muri vyo. Umusi umuhero w’isi wageze rero, ibiremwa vyose bigahwera, hanyuma bikazuka kugira bihemberwe ivyo vyakoze, kuri uwo musi abahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bazogira agahombo gakomeye;"},{"id":28,"translation":"Ntumwa y'Imana! Kuri uyo musi, uzobona umugwi umwumwe w’abantu basenga mw’idini rimwe upfukamye watekewe n’ubwoba n’akantu, maze umugwi wose uhamagarirwe kwumviriza ibiri mu gitabu cawo, maze ubwirwe uti: “Uno musi rero, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”."},{"id":29,"translation":"Iki, ni igitabu cacu kibabwira vy’ukuri ido n’ido ku vyo mwakoze ata kirenzeko ata n’ikibuzeko. Mu vy’ukuri, Twahora Dutegeka abamalayika babungabunga ivyo mukora, kwandika ibikorwa vyanyu."},{"id":30,"translation":"Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, Imana yabo Rurema Allah, Izoheza Ibinjize ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Iyo rero, ni yo ntsinzi igaragara."},{"id":31,"translation":"Nayo abagararije Imana Allah bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, bazobwirwa bati: “Mbega ntimwasomewe Aayah zanje mukiri kw’isi, mukagira amanyama mu kutazemera, mukaba mwari n’abantu b’abanyavyaha!"},{"id":32,"translation":"Mubwiwe ko mu vy’ukuri isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa, ari iry’ukuri; n’uko umuhero w’isi ata makenga ko uriho”, mwaca mwishura muti: “Ntituzi ico ari co umuhero w’isi! Ntituniteze umuzo wawo, kiretse ku gukekeranya gusa, eka mbere ntitunemera ko nya muhero ubaho”."},{"id":33,"translation":"Kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, abagararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bazobona indishi y’ibibi bakoze, bazokwugarizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako;"},{"id":34,"translation":"Baheze babwirwe n’Imana Allah bati: “Kuri uno musi, Turabirengagije mu kubagumiza mu bihano vya Jahannamu nka kurya mwirengagije ukwemera, mukareka kwitegurira uyu musi wanyu, n’ubushikiro bwanyu rero ni mu muriro wa Jahannamu, nta n’umwe muronka abatabara ngo abakingire ibihano;"},{"id":35,"translation":"Ivyo bihano mwahawe, vyaturutse ku gufata Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah minenegwe, mukabiteburako, no kuba mwarahenzwe mutwarwa n’ibihendamaso vyo mu buzima bwo kw’isi”. Kuri uno musi rero, ntibarota bava mu muriro wa Jahannamu, eka mbere ntibanasubizwa kw’isi ngo bigaye, baheze bakore ibikorwa vyiza."},{"id":36,"translation":"Kubera ivyo vyose rero, ishimagizwa ni iry’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’amajuru n’isi, Ikaba n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;"},{"id":37,"translation":"Ni Yo Ikwiye kwigamba ku butwari n’ubutore vyayo mu majuru no mw’isi, ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."}]},{"id":46,"verses":[{"id":1,"translation":"Haa Miim[1].","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":3,"translation":"Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, atari ukugira vy’ukuri abantu bamenye ubushobozi n'ububasha vy’Iyabiremye, baheze bayiyegereze muri vyose banayisenge ari Imana Imwe Rudende; bamenye n’uko Ishoboye kubazura inyuma yo gupfa; no kugira bagendere ukuri n’ubutungane hagati yabo; no kugira rero babeho ubuzima bwabo gushika isango nyezina ryo gupfa ry’umwe wese rishike, ace apfa. Nayo abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri, barirengagiza ibihano Qor’ani ibagabishako, ntibikebuke;"},{"id":4,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri uti: “Aho nyene muriko muraraba ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, mwoshobora kunyereka n’ikintu na kimwe vyaremye kw’isi! Canke hari umugabane vyoba bifise bibangikanijeko n’Imana Allah mw’iremwa ry’amajuru! Enda nyabuna rero, nimunzanire Igitabu mubisomamwo cavuye ku Mana Allah imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, canke mumpe ico ari co cose mufise mu bisigarira vy’ubumenyi nimwaba muri imvugakuri”."},{"id":5,"translation":"Nta wahuvye yoza angana n’uwusaba ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, akabisaba bitanashoboye no kwishura igisabisho c’uwubisavye; n’aho yobirindira gushika ku musi w’umuhero w’isi, ntibizopfa bimwishuye kuko ata co vyimariye, nkeswe kugira ico bimariye uwubisaba, eka mbere ntibizi n’uko hari n’uwubisaba."},{"id":6,"translation":"Igihe rero abantu begeranirijwe hamwe ku musi w’izuka kugira baharurirwe, baheze bahemberwe ivyo bakoze, ibigirwamana bahora basenga kw’isi bizobabera abansi, bibihakane binabavume, maze vyihakane vyongere vyamirire kure ko bitigeze bimenya ko vyasengwa."},{"id":7,"translation":"Iyo ababangikanyamana basomewe Aayah zacu zitomoye, abagararije ukuri igihe kubashikira, baca bavuga bati: “Iyi Qor’ani, ni uburozi bweruye”."},{"id":8,"translation":"Ahubwo rero, boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Mu gihe noyirementanya maze Imana Allah Ikampana, nta na kimwe mwomarira ngo munkureko ibihano vyayo. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo muvuga vyose ku vyerekeye iyi Qor’ani. Imana Allah, Irakwiye Ubwayo kuba Icabona hagati yanje na mwe, ni na Yo rero Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Si jewe mbaye uwa mbere mu Ntumwa zarungitswe n’Imana Allah ku biremwa; kandi kuri iyi si, sinzi n’ico Imana Allah Izonkorera yaba jewe canke mwebwe, sinkurikira mu vyo ndababwiriza no mu vyo nkora, kiretse ku vyo mpishurirwa na Yo; kandi jewe nta co ndi, kiretse ko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo”."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nimumbwire, mu gihe iyi Qor’ani yoba yavuye ku Mana Allah, maze mukayihakana mwivuye inyuma, hakaba n’icabona[2] kivuye muri Bene Israyeli, cemeza ko muri Tawurati harimwo ibifitaniye isano na yo, kikaza cemeza umuzo w’Intumwa ari yo jewe Muhamadi, kikanagendera ibiri muri Qor’ani, na mwe mukirenganya mukagira amanyama mu kutavyemera, hari ukugarariza kwoza kuruta ukwo! Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo y’ubwislamu abantu birenganya mu kuyigarariza no mu kurenga ku mabwirizwa yayo”.","footnotes":"[2] Ico cabona, ni Abdu Llaahi mwene Salaam, akaba yari umwe mu bamenyi bo muri Bene Israyeli imbere yuko aba umwislamu."},{"id":11,"translation":"Abagararije ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, barinamuye babwira abayemeye bati: “Iyo ukwemera kwanyu kuba kurimwo ineza, ntimwari kudutanga kumwemera”. Ku kubera rero Qor’ani ata co yabamariye ngo barongoke, bazokwigovyora bati: “Qor’ani, ni ikinyoma ceruye cabuwe ku bakera”."},{"id":12,"translation":"Ico bomenya co, ni uko imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, Twamanuye Tawurati yahawe Musa, kugira irongore Bene Israyeli, iheze ibere impuhwe uwuyemera akanagendera ibiri muri yo. Iyi Qor’ani na yo rero, ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yayo kwahavuye guhindagurwa, Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, yongere ishikirize n’inkuru nziza ihumuriza abumvira Imana Allah mu bugwaneza, ko bagenewe Ubwami bw’ijuru."},{"id":13,"translation":"Mu vy’ukuri, abemanze bakavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”, hanyuma bakagororoka mu kwemera kwabo, nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi."},{"id":14,"translation":"Abo, ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera ku mpuhwe z’Imana Allah; iyo rero ni yo mpembo ku vyiza bari barakoze kw’isi."},{"id":15,"translation":"Twategetse umuntu kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe mu bugwaneza[3]; na canecane nyina wiwe kuko yamutwaye imbanyi umuruho ku wundi; aranamwibaruka umuruho ku wundi; gutyo ikiringo co kumutwara imbanyi gushika acuke, kiba amezi mirongo itatu. Umuntu rero, amaze kugera mu bigero vy’umugabo abushitse, maze agashikana imyaka mirongo ine, araheza agasaba Imana Allah atakamba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa kwama nibuka gushima inema zawe Wampaye, jewe hamwe n’abavyeyi banje, Wongere Unshoboze no gukora ivyiza bigushimisha, Unampere n’indero nziza n’ukuroranirwa uruvyaro rwanje. Jewe mu vy’ukuri, nigaye kuri Wewe ivyaha vyanje, kandi ndi no mu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa yawe”.","footnotes":"[3] Umuntu ategetswe kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe, mu buzima bwabo bwose n’inyuma y’aho bamaze gupfa, na canecane nyina wiwe."},{"id":16,"translation":"Abo, ni bo rero Twakirira ivyiza mu vyo bakoze Tukabibungabunga, Tukanirengagiza ibicumuro vyabo, ntitubibahanire, bari no mu bantu bo mu Bwami bw’ijuru. Iri, ni ryo sezerano ry’ukuri Twabahaye."},{"id":17,"translation":"Hari n’uwabwiye abavyeyi biwe igihe bamurarikira ukwemera Imana Allah n’ukwemera izurwa ry’ibiremwa, maze arimyoza avuga ati: “Nimumveko! Mbega munsezeranira ko nzozuka nkava mu kuzimu nkomeye, kandi hari imigwi n’iyindi y’abantu bo hambere yanje bapfuye, ata n’umwe muri bo gushika n’ubu arazuka!”. Nya bavyeyi ntibacitse intege, bashishikaye bamusabira ku Mana Allah ko Yomurongora, maze bamubwira bamwinginga bati: “Nyakugorwa! Enda nyabuna rero, niwemere Imana Allah, mu vy’ukuri isezerano ryayo ryo kuzura abapfuye, ni iry’ukuri”. Araheza rero, abishura n’akagagazo n’akantu ati: “Ivyo muvuga, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”."},{"id":18,"translation":"Abarangwa n’izo ngeso mbi rero, ni bo bazokwagirwa n’ibihano vy’Imana Allah, bakazohanirwa hamwe n’imigwi y’abagararije hambere yabo mu bantu no mu Majini. Mu vy’ukuri, bari no mu bahomvye mu buzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kuko biguze ubuhuvyi ha kurongoka."},{"id":19,"translation":"Umugwi umwumwe wose rero, waba uw’abakoze ivyiza canke uw’abakoze ibibi, urafise urugezo rwo guhemberwako ku musi w’izuka, hisunzwe ivyo wakoze kw’isi, kugira Imana Allah Izotunganirize umugwi wose muri yo ku vyo wakoze. Eka mbere nta n’umwe muri iyo migwi, uzorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi."},{"id":20,"translation":"Umusi rero abagararije beretswe ibihano vy'umuriro kugira bahanwe, maze bakabwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ivyiza vyanyu mwabihereje mu buzima bwanyu bwo kw’isi, muraheza muraryimara mu kuryoherwa. Bagarariji! Kuri uno musi rero, muhabwa ibihano bisuzuguza biturutse ku kuntu mwahora mugira amanyama kw’isi mu gukora ivyo mutarekuriwe, n’ukuntu mwari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”."},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuvugishwamana Huudi mwenewabo na Bene Aadi, igihe yagabisha abantu biwe ku bihano vy’Imana Allah, bakaba baba ahitwa Al-Ahqaafu[4]. Ni ukuri, n’imbere y’irungikwa ryiwe no mu nyuma y’aho, hararungitswe n’izindi Ntumwa zigabisha abantu ku bihano vy’Imana Allah, imwe yose muri zo yashikiriza ubutumwa nk’ubwo izindi zashikiriza, iti: “Ntimukiyegereze mu vyo mukora vyose ngo munasenge ikintu na kimwe atari Imana Allah, mu vy’ukuri ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’intureka zihambaye, umusi w’izurwa ry’ibiremwa”.","footnotes":"[4] Al-Ahqaafu, ni akarere Bene Aadi babamwo, igihe barungikirwa Umuvugishwamana Aadi, ubu hakaba ari ubugaragwa bugizwe n’umusenyi mwinshi mu bumanuko bw’Ikigobe c’Abarabu."},{"id":22,"translation":"Bene Aadi babwiye Huudi bati: “Karashize ingani, utuzanire ubutumwa bwo kugira udukure kw’isengwa ry’imana zacu! Enda nyabuna rero, ko tuvyanse, duhe ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri koko”."},{"id":23,"translation":"Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabishuye ati: “Ni ukuri isango ivyo bihano ndabasezeranira vyoshikirako, rizwi n’Imana Allah, ico njejwe ni ukubashikiriza ubutumwa narungikanwe. Ariko rero n’aho biri ukwo, jewe mbona ko mwebwe muri ibijuju ku kwihutira gusaba ko muhanwa”."},{"id":24,"translation":"Aho baboneye rero igicu ciyegeranije mu kirere cerekera mu kabande kabo, kikaba carimwo ibihano biturutse hejuru basezeraniwe, bavuze bati: “Iki gicu gihava kiduha akavura maze duhembuke”. Huudi yababwiye ati: “Haba namba! Si igicu c’imvura nk’uko muvyibaza, ahubwo nyabuna, ni vya bihano mwihutira kwisabira, ni igicu kizananye n’igihuhusi kirimwo ibihano bikaze”."},{"id":25,"translation":"Nya gihuhusi, carandurana n’imizi ikintu ico ari co cose vyahura kw’itegeko ry’Imana yaco Rurema Allah. Ni ho rero, Bene Aadi bahona bose, nta n’igisanira wobona casigaye muri bo, kiretse ko hasigaye imihana yabo babamwo ahitwa Al-Ahqaafu. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahoneje Bene Aadi - Duhana abantu b’ababanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu."},{"id":26,"translation":"Bakorayishi! Ni ukuri Bene Aadi, Twari Twarabahaye ibibatsimbataza kw’isi ku rugero rusumba kure n’iyo ivyo Twabahaye bibatsimbataje kw’isi; Twabagiriye n’amatwi, amaso n’imishaha kugira babikoreshe mu kwumva no mu kubona ukuri, baheze batahure bagukurikire; ariko nya matwi, amaso hamwe n’imishaha nta na kimwe vyabamariye, kuko bahora bahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, maze bugarizwa n’ibihano bibabaza, bahora bateburako."},{"id":27,"translation":"Bantu b’i Makka! Ni ukuri, Twarahoneje uducimbiri turi mu micungararo yanyu; nk’uducimbiri twa Bene Aadi na Bene Thamuudi, maze ducika iciro ry’umugani. Emwe! Twari Twaranabatomoreye Aayah n’ivyemezo vyacu, kugira bisubireko, ariko barananye kwisubirako."},{"id":28,"translation":"None ga ntu! Ibigirwamana bigiriye bakabisenga bibwira ko bibegereza ku Mana Allah, ntivyari kubatabara ngo ntibahone! Ahubwo rero, vyarazimanganye bigenda amazimayongo, nta n'ico vyabamariye. Iryo, ni irementanya ryabo barementanya mu kubigira imana."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Tukurungikira umugwi w’Amajini, kugira ngo yumvirize Qor’ani wariko urasoma, amaze kugushikira abwirana hagati yayo ati: “Nimucereze twumvirize Qor’ani”. Intumwa rero imaze kurangiza gusoma Qor’ani, nya mugwi w’Amajini waciye usubira kuri benewabo, uraheza urabagabisha ko bokwibonerako mu kuronka ibihano vy’Imana Allah, mu gihe bokwanka kwemera."},{"id":30,"translation":"Nya Majini araheza avuga ati: “Emwe benewacu! Mu vy’ukuri twebwe, twumvise Igitabu camanuwe mu nyuma ya Musa, gishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yaco vyamanuwe n’Imana Allah ku Ntumwa zayo, kirongora mu kuri no mu nzira igororotse;"},{"id":31,"translation":"Emwe benewacu! Enda nyabuna rero, nimwumvire Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, maze muyemere, mugendere n’ivyo ibigisha, gutyo Imana Allah Ice Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyanyu, Iheze Ibababarire, Yongere Ibakingire n’ibihano bibabaza vyo mu muriro udahera;"},{"id":32,"translation":"Aboramuka rero banse kwumvira Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, nibamenye ko badashobora kunanira Imana Allah ko Ibahanira aho hose bazoba bari kw’isi; muri ico gihe, nta muhagarikizi n’umwe atari Imana Allah bazoronka yobakura mu bihano vyayo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”."},{"id":33,"translation":"Mbega abahakana izurwa ry’ibiremwa baragoswe, ntibamenya ko Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu buryo buhimbaye ata n’ico Irinze gufatirako, Itanaruhishijwe n’iremwa ryavyo, Ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye maze bakazuka! Ego cane Irabishoboye. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Mushoboravyose."},{"id":34,"translation":"Umusi rero abagararije beretswe ibihano vy’umuriro kugira bahanwe, maze bakabazwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ibi bihano si ivy’ukuri!”, bazokwishura n’agahinda n’akantu bati: “Ego cane turarahiye kw’izina ry’Imana yacu Rurema Allah, ko ari ivy’ukuri koko”. Maze bace babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano biturutse ku kuntu mwahora mubihakana kw’isi”."},{"id":35,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ibangamira ry’abaguhakana nk’uko Inararibonye mu Ntumwa zihanganye hambere yawe[5]; kandi ntiwihutire gusaba ko abo warungitsweko bohanwa, burya igihe ibihano vyashitse bakabibona ukuri kwamye, ku kubera intureka zavyo, bazoba nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse isaha imwe yo ku murango. Iri rero, ni irarikwa kuri bo no ku bandi bose. Nta bazohonywa n’ibihano vy’Imana Allah, kiretse abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.","footnotes":"[5] Izo Nararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’Azmi”, ni zitanu: Nuhu, Ibrahimu, Musa, Isa na Muhamadi (ba nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)."}]},{"id":47,"verses":[{"id":1,"translation":"Abagararije bagahakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, Imana Allah Yarazimanganije ibikorwa vyabo, maze bicika impfagusa."},{"id":2,"translation":"Nayo abemeye Imana Allah bagashira mu ngiro amabwirizwa yayo, bakemera n’Igitabu ca Qor’ani, camanuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ari na kwo kuri kutagiramwo amakenga ko kwavuye ku Mana yabo Rurema Allah, Imana Allah Yabababariye ibicumuro vyabo maze Iravyirengagiza ntiyabibahanira, Yongera Irabatunganiriza ivyabo, Ibaha no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":3,"translation":"Iryo hubishwa n’irongorwa ku co umugwi wose wahisemwo, riterwa n’uko abagararije bakurikiye shetani maze barayumvira; n’uko abemeye bakurikiye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) maze bagendera n’ukuri kwavuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Icira abantu agace gashingiye ku co umugwi wose muri bo wahisemwo, gutyo ibisa bikajana."},{"id":4,"translation":"Bemeramana! Nimwahurira ku rugamba n’abagararije, murahabera intwari koko, muhabere abagabo mururwane mubace amazosi mu kubica; nimwamara kubaca intege, muraheza mubashire mu mvuto mubabohe ntibacaruke. Mu nyuma rero urugamba nirwahagarara, murabarekura ata mbohozo babanje gutanga, canke mubarekure babanje kuzitanga, muheze rero mubandanye ukwo nyene gushika urugamba ruhere. Iyo, ni yo ngingo mushingiwe mu gihe mugeragejwe mugahurira ku rugamba n’abagarariji. Iyo Imana Allah Ishaka, ni ukuri Yari kubatabara mukabanesha ata ndwano irinze kuba, ariko rero Yabategetse kuja ku rugamba kugira Igeragereze ukwemera kwanyu mu guhangana na bo kugira mubahane, maze idini ryayo ryiganze. Abiciwe ku rugamba na bo mu gihe co guharanira idini ry’Imana Allah, Imana Allah ntizogira ibikorwa vyabo impfagusa;"},{"id":5,"translation":"Izobashoboza gukora ibiyishimisha mu buzima bwabo bwo kw’isi, Yongere Ibatunganirize ivyabo, Ibahe no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":6,"translation":"Iheze kandi Ibinjize no mu Bwami bw’ijuru Yabamenyesheje uko buteye."},{"id":7,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwaharanira idini ry’Imana Allah ku rugamba, mukagendera n’ingingo z’Igitabu cayo, Izobatabara maze muneshe abansi banyu, Yongere Ibatsimbataze ku rugamba."},{"id":8,"translation":"Nayo abagararije, baragahona, na kare Imana Allah Yarazimanganije ibikorwa vyabo, maze bicika impfagusa;"},{"id":9,"translation":"Bitewe n’uko banse bagahakana bivuye inyuma Igitabu Imana Allah Yamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), gutyo Imana Allah, Ica Ireka kwakira ibikorwa vyabo, kuko mu kubikora bumviye shetani."},{"id":10,"translation":"Mbega none, abahakanyi batigera banyurwa na Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Imana Allah Yabaranduranye n’imizi, Isitagura n’inyubakwa zabo. Abagarariji rero, bafise iherezo ribi nk’iry’abo hambere yabo."},{"id":11,"translation":"Iryo hubishwa n’irongorwa ku co umugwi wose wahisemwo, riterwa n’uko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Itunganiriza abemeramana, n’uko abagarariji badafise umuhagarikizi canke umutabazi."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Nayo abagararije, ukurya no kuryimara mu kuryoherwa kwabo n’ibihendamaso vy’isi, ni nka kurya kw’ibitungwa ata kindi binezwe kw’isi atari ukurisha gusa, umuriro wa Jahannamu rero, ni ryo cumbi ryabo."},{"id":13,"translation":"Ntumwa y’Imana! Hari n’abantu rero bo mu ducimbiri twinshi, bari bafise ingabo n’inguvu ata ho ziza zingana n’iz’abantu bo mu gacimbiri kawe ka Makka, batumye uta urwawe ukimuka, hamwe n’inguvu zabo zose rero, Twarabahoneje mu kubaha ibihano bitandukanye, nta n’umutabazi n’umwe baronse abakura mu bihano vy’Imana Allah."},{"id":14,"translation":"Mbega none, uwufise icemezo kigaragara kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, maze akacisunga mu kwemeza ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, ni nk’uwaryoherejwe na shetani, ibibi akora akabibona ko ari vyiza, akaba ari no mu batwarwa n’ivyipfuzo vyabo, ata n’icemezo canke ubumenyi buvuye ku Mana Allah bisunga! Ntibashobora kunganya ubutore namba."},{"id":15,"translation":"Uko Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana buteye, burimwo inzuzi nininini z’amazi atemba atigera agira urubobi; inzuzi z’amata akanovera kayo katigera gahinduka; inzuzi z’inzoga y’akanovera iryohera abanywi, burimwo rero n’inzuzi z’ubuki bw’umutsama, busukuye ntiworaba! Muri nya Bwami kandi, bazohabwa n’ivyamwa vy’ubwoko bwose. Hejuru y’ivyo vyose, hari ukugumirizwa akabanga n’Imana yabo Rurema Allah mu kwirengagiza ivyaha vyabo. None ga yemwe! Uwuri mu Bwami bw’ijuru buteye ukwo, yohurira he n’uwuri mu muriro azobamwo ibihe bidahera, aho we n’abo bari kumwe bazohemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, maze akabacagagura amara!"},{"id":16,"translation":"Muvugishwamana! Burya mu ndyarya, harimwo abakwumviriza ntibazigame ivyo uvuga, bamara kuva mu cicaro cawe, bagaca babaza abahawe ubumenyi bw’Igitabu c’Imana, mu gutebura n’akantu bati: “Mbega mutwumvira Muhamadi, mu kanya yari avuze ngw’iki!”. Abo ni bo rero Imana Allah, Yateye ikimangu ku mitima yabo ntiyashobora gutegera ukuri, maze batwarwa n’ivyipfuzo vyabo mu bugarariji n’ubuhuvyi."},{"id":17,"translation":"Nayo abakurikiye uburongozi, Imana Allah Iraheza Ikabongerereza uburongozi ku bwo bari basanganwe, maze ukwemera kwabo kugakomera; Ikanaborohereza mu kubashoboza gushikira igamburukiramana ryiyongera ku ryo bari basanganwe."},{"id":18,"translation":"Burya abagarariji, nta kindi barindiriye kubona, kiretse umuhero w’isi basezeraniwe uzobashikira giturumbuka, ata vyo bari biteze. Ni ukuri, ibimenyetso vyawo vyaramaze kuboneka ariko nta co binona. None bazokwibuka ngo bikebuke gute, uwo muhero w’isi niwamara kubashikira!"},{"id":19,"translation":"Muvugishwamana! Menya rero ko ata mana y’ukuri ikwiye gusengwa atari Imana Allah, uheze usabe imbabazi ku vyaha vyawe, wongere uzisabire abemeramana n’abemeramanakazi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora mu kwishira n’ukwizana kwanyu ku murango, no mu gihe mutururuye mw’itiro mudakakaza mw’ijoro."},{"id":20,"translation":"Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bavuga n’igishika n’akantu bati: “Ubwo none, ntihomanurwa igisomwa kidutegeka guharanira idini mu guhangana n’umwansi ku rugamba!”. Hamanurwa igisomwa gitomoye mu nsiguro n’ingingo vyaco, hakavugwamwo uguhangana ku rugamba, ukabona abafise imitima yazingamitswe n'indwara y’uburyarya mw’idini, amaso yabakanutse ku gutinya urupfu, bakuraba barerembuza amaso nk’uwuri ku mpfiro. Vyari vyiza kuri bo rero;"},{"id":21,"translation":"Ko bumvira Imana Allah bakanavuga ijambo ryiza ry’ukuri. Iyo rero ubutigu bugeze, Imana Allah Igategeka guhangana ku rugamba, indyarya ntizishimishwa na gato n’iyo ngingo. Iyo zirangwa n’ukuri mu kwemera no mu bikorwa, vyari kuba vyiza kuri zo gusumba ukugabitanya."},{"id":22,"translation":"Mu gihe rero mwogenza umugongo mukirengagiza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, mwoca mugenzwa n’ubwononyi bwo kugarariza no gusesa amaraso kw’isi, hamwe rero no guca ubuvandimwe bw’abo musangiye amaraso;"},{"id":23,"translation":"Abo, ni bo rero Imana Allah Yavumye, maze Ibaziba amatwi Ibahuma n’amaso, ntibaba bacumva canke babona Aayah n’ivyemezo vyayo;"},{"id":24,"translation":"Mbega none indyarya, ntizoza zitegera Qor’ani ngo zinyurwe n’ivyemezo vyayo! Canke imitima yazo irugaye, bigatuma zitanyurwa!"},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri abahemutse mu kwemera bakava mw’idini, bakisubirako inyuma y’aho bamenyeye uburongozi bw’ukuri, shetani yarabaryohereje ivyaha bakora, maze ibaha umwizero w’ikinyoma;"},{"id":26,"translation":"Baraheza rero ku kwizera ikinyoma, bararendegera mu bugarariji bitewe n’uko babwiye abayahudi banse kwemera ivyamanuwe n’Imana Allah bati: “Tuzobumvira muri bimwebimwe bica kubiri n’ingingo z’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo”; burya rero Imana Allah, Irazi neza ivyo bahishije mu mushaha[1].","footnotes":"[1] Iyi Aayah irihaniza umwemeramana ko atohirahira ngo yumvire abantu mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah hamwe n’ingingo z’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":27,"translation":"Mbega bazoba bamerewe gute igihe urwabo rwageze, maze abamalayika bakabica babakubita mu maso no ku kibuno!"},{"id":28,"translation":"Ico, ni co gihano bakwiye gitewe n’uko bumviye shetani, bagakurikira ibishavuza Imana Allah, bakanka no gukora ivyotuma Ibishimira, hatibagiwe kwanka guhangana n’abagarariji ku rugamba. Ivyo vyose rero, vyatumye Imana Allah Ireka kwakira ibikorwa vyabo vyiza, maze bicika impfagusa."},{"id":29,"translation":"Ahubwo none, indyarya zoba zibwira ko Imana Allah Itazoshira ahabona Ikagaragaza inzigo n’ishari bafitiye ubwislamu n’abislamu! Nta kibuza rero ko Imana Allah Izobishira ahabona mu kwerekana imvugakuri n’umunyakinyoma."},{"id":30,"translation":"Muvugishwamana! Iyo Twebwe Allah Dushaka, ni ukuri Twari kukwereka indyarya, maze ukazimenyera ku bimenyetso vyazo biziranga, ni ukuri uzozimenyera ku mvugo iziranga. Burya Imana Allah, Irazi neza ibikorwa vyanyu, abayumvira n’abagabitanya, umwumwe wese Izomuhemba indishi ikwiranye n’ivyo yakoze."},{"id":31,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tuzobagerageza mu guhangana n’abagarariji ku rugamba gushika hamenyekanye - ku vyo Dusanzwe Tuzi - abaharanira idini ry’Imana Allah vy’ukuri, hamwe n’abihangana ku rugamba, Twongere Tubagerageze ku vyo muvuga no ku vyo mukora, gutyo muri mwebwe haboneke imvugakuri n’umunyakinyoma."},{"id":32,"translation":"Mu vy’ukuri abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, bakanaburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo, bagaca kubiri bakanarwanya n’Intumwa yayo, inyuma y’aho bamenyeye Aayah n’ivyemezo vyerekana ko uri Umuvugishwamana vy’ukuri, nta co bazokwicira idini ryayo, kandi Imana Allah Izoreka kwakira ibikorwa vyabo vyiza kuko batabikoze ku bwayo."},{"id":33,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimushishikare mwumvira Imana Allah, mwumvira n’Intumwa yayo, kandi ntimugatume ibikorwa vyanyu bicika impfagusa ku guca kubiri n’amabwirizwa yayo."},{"id":34,"translation":"Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, bakanaburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo, hanyuma bagapfa bakirangwa n’iyo ngeso y’ubugarariji, Imana Allah ntizobagumiriza akabanga ku vyaha vyabo, ahubwo Izobahana Inabatetereze mw’ishengero ry’ibiremwa."},{"id":35,"translation":"Bemeramana! Ntimugacike inkokora ngo mutinye guhangana n’ababangikanyamana ku rugamba, mubararikira kwishikana kandi ari mwebwe benintsinzi mushoboye no kubanesha; burya Imana Allah, Iri kumwe na mwe mu kubatera intege, kandi ntizogabanya indishi ku vyo mwakoze."},{"id":36,"translation":"Ni ukuri, ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi, ni ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso. Nimwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Izobahembera ivyo mwakoze, eka mbere ntinabasaba gutanga amatungo yanyu yose mu gihe co gutanga ishikanwa-bwirizwa, ahubwo Ibasaba kuyatangako umuce muri yo;"},{"id":37,"translation":"Mu gihe Yobasaba Ikabaremereza mu gutanga amatungo yanyu yose, mwocika ingumyi mukanka gutanga, gutyo mugaheza mugaserura akari ku mutima mu gutangana inzigo."},{"id":38,"translation":"Bemeramana! Ehe mwebwe ico murarikiwe, ni ugutanga mu kwitegurira urugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah. Muri mwebwe, haribonekezamwo ingumyi idatanga mu guharanira idini ryayo. Burya uwubaye ingumyi, ni ukuri ni we nyene aba yiyimye. Burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye muri vyose ata co Ibakeneyeko, mu gihe ari mwebwe mukenye mukeneye ko Ibakenura. Nimwagenza umugongo rero mukareka kuyemera no kwubahiriza amabwirizwa yayo, Izobahonya maze Ibasubirize abandi bantu, hanyuma ntibazoba nkamwe mu bugaba."}]},{"id":48,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya[1]”;","footnotes":"[1] Al-Hudaybiyya, ni izina ry’ahantu hatereweko igikumu ku masezerano yo kudashamirana no guhana agahengwe k’imyaka cumi hagati y’abislamu n’ababangikanyamana b’i Makka. Ayo masezerano rero, ni yo yahavuye aba imvo yo gusasagaza ubwislamu mu mihingo y’isi, maze abantu barinjira mu bwislamu bari mu migwimigwi, ikaba ari yo mpamvu yatumye Imana Allah Yita nya masezerano, intsinzi igaragara."},{"id":2,"translation":"Kugira Imana Allah Ikubabarire ivyaha vyawe wakoze n’ivyo utarakora, ku kubera ko idini rizosasagara inyuma y’ayo masezerano, no kugira rero Imana Allah Igukwirize inema yayo y’iganza ry’idini ryayo, Iheze Igutsimbataze mu burongozi bw’inzira igororotse;"},{"id":3,"translation":"No kugira kandi Imana Allah Igushikane ku ntsinzi ihambaye."},{"id":4,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yamanuye ituze mu mitima y’abemeramana umusi w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, maze baraturura, baratekana baratekanirwa, kugira bongererezwe ukwemera no gukurikira Intumwa ku kwemera no gukurikira Intumwa bari basanganwe. Burya Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi Iheza Igatabaza abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":5,"translation":"Kugira Yinjize abemeramana n’abemeramanakazi mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, Yongere Ibababarire ibicumuro vyabo maze Ivyirengagize ntibibahanire. Iyo ndishi rero bategekanirijwe ku Mana Allah, ni kwo gukira agahinda no gushika ku co bipfuza;"},{"id":6,"translation":"No kugira rero Ihane indyarya n’indyaryakazi, ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi biyumvira nabi Imana Allah, ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, bakanesha abansi babo, maze idini ryayo rigasasagara. Barakabona rero ibibi n’amagorwa vy’ubwoko bwose bibashavuza, baragashavurirwa n’Imana Allah, barakavumwa n’Imana Allah. Baranategekanirijwe n'umuriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane."},{"id":7,"translation":"Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi, Iheza Ikaziteza ingoga abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":8,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ube icabona ku bo warungitsweko ko wabashikirije ubutumwa; ushikirize n’inkuru nziza ihumuriza uwukwumviye ko azohabwa Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’uwugabitanye ko bitebe bitebuke, arindiriwe n’ibihano."},{"id":9,"translation":"Bantu! Ivyo vyose rero, Twabigize kugira mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, muharanire n’intsinzi y’idini ry’Imana Allah, muheze mwubahe Imana Allah, mwongere muyininahaze muyitazire igitondo n’umugoroba."},{"id":10,"translation":"Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru[2].","footnotes":"[2] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise ukuboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo. Ukuboko kw’Imana Allah, ntikugereranywa eka nta ho gusa gusana n’ukuboko kw’ibiremwa."},{"id":11,"translation":"Muvugishwamana! Ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, niwabanebagura ku kwisigaza inyuma kwabo, bazokwiregura bavuga n’akarimi gasosa bati: “Twafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango vyacu, turakwinginze rero udusabire ikigongwe ku Mana Allah”; maze akarimi kabo kakavuga ibihushanye n’ibiri ku mutima; babwire uti: “Ni nde yogira ico abamariye ku Mana Allah ngo abakingire mu gihe Yo, Yoshaka ko mushikirwa n’akaga, canke ngo abageramire mu gihe Yo, Yoshaka ko muroranirwa! Uko mwibaza si ko biri! Murihenda mu kwibwira ko Imana Allah Itazi uburyarya muhishije mu mishaha yanyu; ahubwo Imana Allah, Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose”."},{"id":12,"translation":"Uko mwireguye ku Ntumwa y’Imana muvuga ko mwafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango yanyu, si ko biri; ahubwo mwibwiye ko Intumwa y’Imana hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo bazohwerera ku rugamba, maze shetani ibaryohereza iciyumviro c’uko batazokwigera bagaruka amahoro mu miryango yabo, muraheza mwiyumvira nabi Imana Allah ko Itazoshobora gutabara Intumwa yayo hamwe n’ingendanyi ngo baneshe abansi babo, mwari n’abantu bakwiye guhona kuko ata ciza kibavamwo."},{"id":13,"translation":"Uwutemera Imana Allah n’amabwirizwa Yarungikanye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), namenye ko azoba agararije. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twateguriye abagarariji ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe."},{"id":14,"translation":"Imana Allah, ni Nyenubwami Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; Igumiriza akabanga uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, Ikirengagiza ivyaha vyiwe ntibimuhanire, Igahana n’uwo Ishatse ku butungane bwayo ata karenganyo. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":15,"translation":"Muvugishwamana! Abisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka ku musi wa Al-Hudaybiyya, igihe wewe n’ingendanyi mwagiye kuronka iminyago ya Khayibari mwasezeraniwe n’Imana Allah, bazovuga bati: “Enda rero nyabuna nimutureke tujane na mwe ku rugamba rwa Khayibari”, bagomba guhindura isezerano mwahawe n’Imana Allah. Bakurire inkoni ku gishitsi uti: “Kizire, ntimurote mudukurikira ku rugamba rwa Khayibari, ni ryo sezerano twahawe n’Imana Allah imbere yuko tugaruka i Madina, ko iminyago ya Khayibari yagenewe gusa abari kumwe nanje ku musi wa Al-Hudaybiyya”. Bazoheza basubizeyo bati: “Imana Allah nta co Yigeze Ibasezeranira, ahubwo mutwankiye ko tujana ku kubera ishari mudufitiye ko twohava turonka ku minyago”. Ahubwo rero mbere, ntibari banatahura ivyo basabwa n’ivyo barekuriwe gukora mw’idini, kiretse bike cane."},{"id":16,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, uti: “Muzorarikirwa kuja kurwana n’inshirwarimenetse, maze murwane na bo canke bishikane; nimwumvira Imana Allah mukaja kurwana na bo, Imana Allah Izobaha impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru. Nimwagabitanya mukagenza umugongo naho, nk’uko imbere y’aho mwagenjeje umugongo mu kwisivya mugasigara inyuma, ntimwajana n’Intumwa i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza”."},{"id":17,"translation":"Bantu! Nta caha kiri ku mpumyi, ku kimuga, ku wukitswe n’amagara, mu gihe bosiba ku rugamba kuko bafise imvo zumvikana. Uwumviye Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Nayo uwugabitanye mu kutaja ku rugamba, Imana Allah Izomuha ibihano bibabaza."},{"id":18,"translation":"Muvugishwamana! Ni ukuri Imana Allah, Yarishimiye abemeramana igihe biyemeza kukwigura ku rugamba igihe bari musi y’igiti ku musi wa Al-Hudaybiyya, maze hamenyekana - ku vyo Yari Isanzwe Izi - vy’ukuri ukwemera no gushitsa isezerano biri mu mishaha yabo, Iraheza Ibamanurira ituze baratekana baratekanirwa, Ica Ibahembera urugamba rutahavuye ruba ku kubera amasezerano ya Al-Hudaybiyya, intsinzi yimirije;"},{"id":19,"translation":"Hejuru y’ivyo, hari n’iminyago myinshi bazoronka ku rugamba rwa Khayibari. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":20,"translation":"Bemeramana! Yabasezeraniye iminyago myinshi muzoronka mu nyuma nihagera, maze Ibanza kubaha iyo minyago ya Khayibari, Ibakurako n’igeramirwa ry’abansi banyu bashaka kubakwegera mu ndwano, no kubaca mu ryahumye mu kugirira nabi abo mwasize i Madina; ivyo vyose bikaba vyabaye ukwo, kugira bibe inkebuzo n’icemezo ku bemeramana ko Imana Allah Ishoboye kubatabara no kubabungabunga; no kugira rero Ibarongore mu nzira igororotse."},{"id":21,"translation":"Hari n’iyindi minyago rero mwasezeraniwe mutarashobora kuronka, ariko Imana Allah Irashoboye kuzoyibaronsa nihagera. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Mushoboravyose;"},{"id":22,"translation":"Iyo rero abagarariji b’i Makka bihenda ngo barwane na mwe, ni ukuri bari kuneshwa bagatungwa n’ayo bameze, hanyuma nta n’umuhagarikizi abatunganiriza ivyabo, eka mbere nta n’umutabazi yari kubafasha kururwana, bari kuronka."},{"id":23,"translation":"Ni uko vyamye rero ku biremwa, ko Imana Allah Itabara ingabo zayo mu kunesha abansi bayo. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo gutabara ingabo zacu mu kunesha abansi bacu."},{"id":24,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yababanguranije n’ababangikanyamana bashatse kubatera igihe mwari ahitwa Al-Hudaybiyya mu kabande k’i Makka, hari mu nyuma y’aho Imana Allah Ibashoboreje kubafata hanyuma bararekurwa[3]. Burya Imana Allah rero, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.","footnotes":"[3] Ni ababangikanyamana bababa mirongo umunani bafashwe mw’ikizura ryakozwe n’abislamu, hanyuma ntibabica, barabarekura."},{"id":25,"translation":"Abagarariji b’Abakorayishi, ni bo bahakanye bivuye inyuma isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, baranababuza ku musi wa Al-Hudaybiyya ko mwinjira mu musigiti w’i Makka, babuza n’imbagwa mwari mwibangikanije ko zishika aho zitegerezwa kubagirwa mu karere gatagatifu. Iyo i Makka hataba hariyo abagabo b’abemeramana b’intege nke hamwe n’abemeramanakazi mutazi, bahisha ukwemera kwabo, bari guhava bahitanwa n’intambara y’ingabo zanyu, maze mwebwe bikabatera urubwa, hakononekara n’ibintu vyinshi, mukanaharonkera n’ivyaha vyo kwica abemeramana ku kutamenya, Twari kubatera inkunga mugahangana na bo. Vyabaye ukwo rero, kugira Imana Allah Yinjize mu mpuhwe zayo, uwo Ishatse akazoba umwislamu mu nyuma y’aho yari umugarariji. Iyo rero abemeramana bamenya gutandukanya uwemera n’umubangikanyamana, ni ukuri, Twari guha abagararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa y'Imana, igihano kibabaza bakicwa;"},{"id":26,"translation":"Igihe abagararije bagira ubwibone nk’ubwibone bamanye n’imbere yuko barungikirwa Intumwa, maze banka kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kubera nya bwibone[4], maze Imana Allah Iraheza Imanurira ituze Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, Iraheza Ibatsimbataza kw’ijambo ry’igamburukiramana[5], bari n’abantu bakwiye koko gutsimbatazwa kuri ryo, kuruta ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Yamye Izi neza ibigirwa n’ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.","footnotes":"[4] Ku kubera ubwibone bwabo, baranse ko mu ntango ya nya masezerano handikwa izina ry’Imana Allah ngo: “Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo”, banka n’uko mu gusozera handikwamwo ngo: “Ibi ni vyo Intumwa y’Imana Muhamadi yumvikanye n’Abakorayishiˮ.\n[5] “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”."},{"id":27,"translation":"Ni ukuri Imana Allah, Yarashize mu ngiro vy’ukuri indoto y’ukuri Yeretse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), aho yamubwiye Iti: “Ntumwa y’Imana! Mu mwaka ukurikira, mu vy’ukuri wewe hamwe n’ingendanyi zawe, muzokwinjira mu musigiti w’i Makka ku bushake bw’Imana Allah mw’iteka n’itekane, mwamoye umushatsi canke mwawugabanije, ata na kimwe mutinya kiretse gusa Imana Allah”. Imana Allah, Yari Izi ivyiza mutigeze mumenya, biri mu kutabashoboza kuhinjira muri uwo mwaka w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, Iraheza rero ha kwinjira i Makka, Ibaha isezerano ry’uko intsinzi yo guhabuza Khayibari iri hafi inyuma y’agahengwe k’ayo masezerano."},{"id":28,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yarungitse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije uburongozi n’idini ry’ukuri ry’ubwislamu, kugira riganze hejuru y’amadini yose, kandi Imana Allah Irakwiye kuba Icabona ko Izoguha intsinzi, maze idini ryawe rikaganza."},{"id":29,"translation":"Muhamadi, ni Intumwa y’Imana koko; abamukurikiye na bo, barakarira abagarariji, maze bakagiriranira impuhwe hagati yabo. Uzobabona bunama, bubama ku ruhanga mu gihe bariko barasenga, bazeye kuronka impano zivuye ku Mana Allah, maze Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru Ibishimiye. Ikimenyetso c’iyumviramana ryabo kigaragarira ku ruhanga ku kwama bubamira Imana Allah mu gusenga. Ico rero, ni co kimenyetso kibaranga kivugwa muri Tawurati. Akarorero k’ibibaranga mu Njili, ni nk’igiterwa casohoye intumbatumba n’amashami, hanyuma nya mashami akagwirirana ashigikiye nya giterwa, maze nya giterwa na co kigakura gitotahaye, kigororotse, abarimyi bagahimbarwa bakibonye. Imana Allah, Ibagereranya rero n’igiterwa mw’igwirirana ryabo no gushaza kwabo, kugira ngo Ishavuze abagarariji[6]. Imana Allah Yasezeraniye muri bo, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, maze Ikavyirengagiza ntibibahanire, hamwe rero n’impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.","footnotes":"[6] Iyi Aayah, iremeza ko ukwanka ingendanyi ari igarariza, kuko ng’aha Imana Allah Izihayagiza mu kwerekana ko ukugwirirana no gushaza kwazo, bishavuza abagarariji, gutyo rero uwanka agashavuzwa na zo, aba abaye umugarariji."}]},{"id":49,"verses":[{"id":1,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugakore ikintu na kimwe kitisunze ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo, ngo mwadukane bishasha mu mabwirizwa y’idini; muraheza rero mutinye ibihano vy’Imana Allah mu gihe mwovuga canke mugakora ibiciye kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana[1].","footnotes":"[1] Iyi Aayah, irihaniza abemeramana ko batokwadukana bishasha mw’idini, canke ngo bishingire ingingo ziciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":2,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenze urwamo Umuvugishwamana mu gihe muriko muraganira na we; kandi ntimugasemerere mu kumuhamagara nka kurya mubigenza hagati yanyu[2], kuko vyotuma ibikorwa vyanyu bicika impfagusa ata vyo muzi.","footnotes":"[2] Kutarenza urwamo Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) no guca bugufi mw’ijwi mu gihe co kuganira na yo, hamwe rero no kudasemerera mu kuyihamagara, ni bimwe mu rupfasoni rutegerezwa kwubahirizwa kuri yo, kuko yatewe iteka ryo kurungikwa n’Imana Allah kugira yemerwe, ikundwe, yongere ikurikirwe muri vyose."},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri, abaca bugufi mu kutarenza urwamo Intumwa y’Imana, igihe bari kumwe na yo; abo, ni bo Imana Allah Yagerageje imishaha yabo, maze Irayeza mu kuyishikana kw’igamburukiramana, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, vyirengagizwe ntibabihanirwe, bazonaronka n’impano zihambaye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":4,"translation":"Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abaguhamagara basemerera bari hanze y’ivyumba vyawe, bakakurenza urwamo, abenshi muri bo, ntibatahura icubahiro cawe ngo baguhamagare mu rupfasoni rugukwiye."},{"id":5,"translation":"Iyo bihangana bakarindira ko usohoka, vyari kuba ari vyiza kuri bo ku Mana Allah kuko Yabategetse kukwubaha. Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":6,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nihagira ikigaba kibazanira inkuru, murabanza muyitohoze mu bwitonzi imbere yuko muyemera ngo muyikwiragize, ku kwanka ko mwosanga mwandagaje abantu b’abera ku kutamenya, maze mugasigara muricuza ku vyo mwakoze."},{"id":7,"translation":"Nimumenye kandi ko Intumwa y’Imana iri kumwe na mwe, muheze rero murangwe n’urupfasoni, kuko yoyo ishaka ko mubaho mw’iteka n’itekane, ata we mubangamiye. Mu gihe rero yobumvira mu vyo mwipfuza vyose, ni ukuri ntimwokworoherwa namba; ariko rero Imana Allah, Yabakundishije ukwemera Iranakuryohereza mu mishaha yanyu, Ibankisha ubugarariji n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa yayo no kugabitanya. Abarangwa n’izi ngeso nziza rero, ni bo bari mu nzira nziza ibereye y’ukuri."},{"id":8,"translation":"Ivyo vyiza vyose murimwo, ni impano n’inema zivuye ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":9,"translation":"Nihagira imigwi ibiri mu bemeramana ishamirana ikarwana, muraca muyihuza muyinywanishe mwisunze Igitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa. Nihagira umugwi muri yo wanka kwubahiriza ingingo yafashwe, muraheza muwurwanye mwivuye inyuma, gushika ugarutse ku ngingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Niwagaruka kuri iyo ngingo rero, muranywanisha iyo migwi ata nkunzi, maze muyitunganirize mwisunze ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abatunganiriza abandi ata nkunzi[3].","footnotes":"[3] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ikunda mu buryo buberanye n’icubahiro cayo."},{"id":10,"translation":"Ni ukuri abemeramana, ni abavukanyi mw’idini, muraheza rero munywanishe hagati y’abavukanyi banyu baramutse batase, maze mutinye Imana Allah muri ukwo kunywanisha kugira mugirirwe impuhwe na Yo."},{"id":11,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntihakagire umugwi w’abagabo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi usuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. No mu bagore nyene, ntihakagire umugwi muri bo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi wasuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. Ntimugatezanye urubwa, kandi ntimugatazirane amazina mabi (adakundwa). Ni bibi cane ko mwitana izina ry’ubunyakibi mu nyuma y’aho mumariye kuba abislamu, mugatahura ububi bwavyo. Uwutazokwigaya rero ngo avavanure no kwitana izina nk’iryo, azoba ari mu birenganije."},{"id":12,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwirinde ukwikeka nabi kenshi abemeramana, mu vy’ukuri bimwe muri ukwo kwikeka nabi ni ibicumuro; kandi ntimukagendereze murondera kumenya utunenge twabo, ntimukandagazanye[4]. Burya none muri mwebwe, hari uwokunda ko yorya inyama z’umubiri w’umuvukanyi wiwe yamaze gupfa! Nimwanke mwankirize rero kwandagazanya, kuko kwandagaza umuntu ari nko kumurya inyama yapfuye. Nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[4] Kwandagaza umuntu, ni ukumuvugako ivyo adakunda ko bivugirwa ku mugaragaro mu gihe we nyene atahibereye ngo avyumve."},{"id":13,"translation":"Emwe bantu! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye Tubakomoye kuri so wanyu umwe ari we Adamu, na nyoko wanyu umwe ari we Hawa, nta gituma rero mwokwihaya ku nkomoko zanyu; Twaranabaremye mw’ima ry'intanga biciye mu kurondoka, Tubagira amahanga n’amoko atandukanye kw’isi kugira gusa mumenyane. Mu vy’ukuri, intore muri mwebwe isumba abandi ku Mana Allah, ni umugamburukiramana muri mwebwe gusumba abandi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose."},{"id":14,"translation":"Ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina, barinamuye bavuga bihaya bati: “Twaremeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa yayoˮ. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ntimukihaye ko mwemeye vy’ukuri, ahubwo nimuvuge muti: “Twarabaye abislamuˮ, nayo ukwemera ntikuranyengetera mu mitima yanyu. Nimwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah ntizogabanya na kimwe mu ndishi z’ibikorwa vyanyuˮ. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[5].","footnotes":"[5] Iyi Aayah, irabuza umuntu ko yihaya mu kwemera mu majambo, mu gihe ibikorwa vyiwe biteye kubiri n’ivyo avuga."},{"id":15,"translation":"Ni ukuri abemeramana koko, ni barya bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibagira amakenga mu kwemera kwabo, maze baharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo. Abo, ni bo rero mvugakuri koko mu kwemera kwabo."},{"id":16,"translation":"Muvugishwamana! Bwira ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina uti: “Mbega mubwira Imana Allah ibijanye n’idini hamwe n’ukwemera kwanyu, kandi Imana Allah Izi neza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi! Burya rero Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikanaˮ."},{"id":17,"translation":"Muvugishwamana! Bakwihayako ko bagukurikiye bakaba abislamu! Babwire uti: “Ntimukanyihayeko ko mwabaye abislamu kuko mwababaye ku neza yanyu; ahubwo Imana Allah Ibihayako ku kuba Yarabashoboje kuba abislamu, mukayemera Yo hamwe n’Intumwa yayo nimwaba muri imvugakuri koko mu kwemera kwanyuˮ."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi. Burya Imana Allah, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora kandi Izobibahembera."}]},{"id":50,"verses":[{"id":1,"translation":"Qaaf[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyi Qor’ani y’iteka n’icubahiro, ko Intumwa Muhamadi ari imvugakuri mu vyo ishikiriza;","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ahubwo abahakanye bivuye inyuma Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), batangajwe n’uko muri bo harungitswe Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, maze abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo baca bavuga bitangaza bati: “Iki, ni ikintu gitangaje pe!"},{"id":3,"translation":"Mbega burya nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko! Yemwe! Iryo zuka rero, riri kure nk’ukwezi, ntiribaho”."},{"id":4,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ibibora mu mibiri yabo bigahinduka ivu, maze isi ikabinunuza; Turafise rero n’Igitabu nyezina kibungabunzwe, canditswemwo ivyagezwe kuri bo n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”."},{"id":5,"translation":"Ahubwo rero, ababangikanyamana barahakanye bivuye inyuma Qor’ani igihe ibashikiriye, baraheza baguma bajuragirika mu vyiyumviro, batazi ico bafata n’ico bareka hagati y'ukwemera no guhakana."},{"id":6,"translation":"Mbega aho bahakana izurwa ry’ibiremwa, ntibabona ijuru rihanitse hejuru yabo, ukuntu Twebwe Allah Twaryubatse riringaniye, Turaheza Turishariza n’inyenyeri zakaka, ata n’akanenge woribonamwo!"},{"id":7,"translation":"Mbega, ntibabona n’isi nyene ko Twayaguye, maze Turayisasa, Tuyigirako n’imisozi iyigumije nk’imambo ku kwanka ko yobajegeza, Turaheza Tuyimereshako n’ubwoko bwose bw’ivyimeza bibereye ijisho!"},{"id":8,"translation":"Ivyo vyose rero, Twabiremye kugira Dukebure Twongere Twibutse uwo wese ashaka kugaruka ku Mana Allah;"},{"id":9,"translation":"Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere abafitiye akamaro kanini, maze Tumeresha amashamba y’ibiti vyinshi, hamwe rero n’ibinyantete hakoreshejwe nya mazi;"},{"id":10,"translation":"Tumeresha n’ibiti vy’itende bikura bikaba birebire, biheka n’itende zihekeranye;"},{"id":11,"translation":"Ivyo vyose rero, Tukaba Twabimeresheje kugira bibesheho ibiremwa, kimwe cose ku co gikeneye. Twaranatotahaje isi hakoreshejwe nya mazi nyene, isi yari yagadutse igacika ubukumbagare, isubira kunagisha ibiterwa n’ivyimeza bitandukanye. Ni nk’ukwo nyene rero na mwe Tuzobasubiza kandi ubuzima mukazuka ku musi w’izuka."},{"id":12,"translation":"Hambere y’ababangikanyamana b’Abakorayishi, harigeze guhakana abantu ba Nuhu, Beniriba na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe;"},{"id":13,"translation":"Bene Aadi barungikiwe Huudi, Firawuni yarungikiwe Musa, abantu ba Luutwi;"},{"id":14,"translation":"Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu, hamwe rero n’abantu b’umwami wo muri Yemeni batazira Tubba’a[2]. Abo bose rero, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, gutyo bashikirwa n’inkurikizi zo kutumva ukubihaniza kwanje Jewe Allah, Nca Ndabahana vy’akarorero.","footnotes":"[2] Tubba’a, ni itazirano ryahabwa umwami uwo ari we wese mu bami batwara igihugu ca Yemeni aho hambere hahise."},{"id":15,"translation":"Mbega none, bibaza ko Twananiwe kurema ibiremwa Twaremye na mbere ata n’ico Turinze kurabirako, ku buryo Twonanirwa no kubisubiza kandi ubuzima ngo bizuke vyaramaze guhona! Kira noneho, ivyo ntivyotunanira. Ukuri, ni uko ababangikanyamana bo bafise amakenga ku kuntu izurwa ry’ibiremwa ryoshoboka kandi vyaramaze gupfa."},{"id":16,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu Tuzi neza ivyo umushaha wiwe umwosha. Kira noneho, Turi no hafi yiwe cane kurusha umutsi mukuru wo kw’izosi ufitaniye imihora n’umutima;"},{"id":17,"translation":"Igihe abamalayika babiri baba bari iburyo n’ibubamfu, maze uwuri iburyo akandika ibikorwa vy'umuntu vyiza, uwuri ibubamfu na we akandika ibikorwa vyiwe bibi;"},{"id":18,"translation":"Nta n’ijambo na rimwe riva mu kanwa kiwe, kiretse ko aba afise umumalayika amucungereye aheza akaryandika, akaba ari na co gusa ajejwe;"},{"id":19,"translation":"Yashikirwa n’ibimenyetso vy’ukuri vy’uko ari ku mpfiro, akabwirwa ati: “Ewe muntu! Ico ni co wahora uhunga utinya ko kigushikira”;"},{"id":20,"translation":"Maze inzamba igira kabiri yo kuzurwa kw’ibiremwa ivuzwe. Uwo rero ni wo musi w’izuka, Imana Allah Yasezeraniye abagarariji ko utegerezwa gushika;"},{"id":21,"translation":"Umuntu wese rero kuri uwo musi, azoza ari kumwe n’abamalayika babiri; umwe azoba amushoreye, awundi na we akazoba aje kumwagiriza ku vyo yakoze kw’isi."},{"id":22,"translation":"Aheze abwirwe ati: “Ni ukuri, wari waragoswe ku vyo wiboneye kuri uno musi, maze Twebwe Allah Tugukurirako ipaziya ku buryo amaso yawe kuri uno musi abona ata guhwihwisha”."},{"id":23,"translation":"Umumalayika yamugendanira yandika ivyo akora, azomwagiriza ati: “Ng’ibi ivyo wakoze ndabifise kandi birabungabunzwe, biranditswe”."},{"id":24,"translation":"Imana Allah Imaze gutunganiriza ibiremwa, Izobwira nya bamalayika babiri Iti: “Nimuterere muri Jahannamu umuhakanyi uwo ari we wese yimonogoje mu bugarariji, intumva mu kurenga ku mabwirizwa;"},{"id":25,"translation":"Akaba n’impfumbasi itigera itanga namba mu matungo yayo, yahonyanga agateka k’abandi, ikarenga no ku mabwirizwa, yamana amakenga ku vyo yasezeraniwe no mu vyo yihanijweko;"},{"id":26,"translation":"Uwabangikanije Imana Allah n’iyindi mana, nimumuterere mu bihano bikaze vya Jahannamu”;"},{"id":27,"translation":"Shetani yamwama hafi mu kumwosha nabi, izomwihakana maze ivuge iti: “Mana yacu Rurema Allah! Sinigeze ndamuhubisha, ariko yari asanzwe ari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”."},{"id":28,"translation":"Imana Allah Izovuga Iti: “Nimukazibe! Nta kamaro ko gutanako imiragwe imbere yanje mu gihe Nabasezeraniye kw’isi ko umugarariji azohanwa;"},{"id":29,"translation":"Sinisubirako mw’ijambo, kanatsinda Jewe Allah, sindenganya n’umwe mu biremwa ngo Ndamuhanire icaha c’uwundi”."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko umusi Twebwe Allah Twabwiye Jahannamu Duti: “Mbega wuzuye!”; Jahannamu na yo ikishura iti: “Hoba hariho inyongera mu bantu no mu Majini ngo mumpe!”, Imana Allah Ice Iyishiramwo ikirenge cayo, maze na yo ubwo nyene ice icureha ivuga iti: “Geza aho nakwiwe, nakwiwe, namaze kwuzura, nta n’inyongera nkeneye”."},{"id":31,"translation":"Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa hafi y’abagamburukiramana, maze babwitegereze akamwemwe ku kandi kabasya;"},{"id":32,"translation":"Bace babwirwa bati: “Ubu, ni bwo Bwami mwasezeraniwe ko buzohabwa uwo wese yigaya ku vyaha vyiwe, akabungabunga n’ivyo yasezeraniye Imana Allah;"},{"id":33,"translation":"Uwatinye Nyenimpuhwe kw’isi ataranamubona, maze akaza ku musi w’izuka, n’umutima wigaya”."},{"id":34,"translation":"Uyo rero ku musi w’izuka, azoba ari mu bemeramana bazobwirwa bati: “Nimwinjire ubwo Bwami mu mahoro mutekaniwe”. Uwu rero, ni wo musi w’ubuzima budahera;"},{"id":35,"translation":"Bazoronswa muri Bwo ivyo bipfuza vyose, baranafiseyo n’izindi nema z’inyongera; iyihambaye muri zo, ikaba ari ukwibonera ukuri kwamye Imana Allah."},{"id":36,"translation":"Hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, hari n’imigwi y’abantu Twahoneje, bari bafise inguvu n’ukwiganza kubasumba; barashatse gutungwa n’ayo bameze bahungira mu bihugu hirya no hino ngo ntibahanwe. Mbega none, burya hari uworonka ubuhungiro ahungiramwo ibihano vy’Imana Allah!"},{"id":37,"translation":"Mu vy’ukuri muri iryo honywa ryabo rero, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wufise umutima utahura, canke agatega amatwi umutima uri mu nda."},{"id":38,"translation":"Ni ukuri, Twaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, kandi ntitwigeze Turuha namba[3].","footnotes":"[3] Uwufise ubushobozi n’ububasha bwo kurema ivyo vyose, arashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka."},{"id":39,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga;"},{"id":40,"translation":"Maze uyininahaze mu kuyishimagiza no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uyininahaze uyishimagiza mu nyuma y’amasengesho."},{"id":41,"translation":"Ntumwa y’Imana! Urumviriza rero umusi umumalayika ajejwe kuvuza inzamba, umusi yayivugije ari hafi cane;"},{"id":42,"translation":"Umusi abantu bazokwumva vy’ukuri ijwi ry’inzamba igira kabiri; uwo rero ni wo musi, abantu bazozuka bava mu kuzimu."},{"id":43,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dutanga ubuzima ku biremwa, maze bikabaho; ni na Twebwe nyene Tubwaka nya biremwa maze bigapfa, ni no kuri Twebwe rero ibiremwa vyose bizosubira kugira bihemberwe ivyo vyakoze;"},{"id":44,"translation":"Umusi isi yasataguritse kugira abapfuye bazuke, maze bagasokoroka banyaragasa bitaba umuraritsi, iryo yegerenywa ry’ibiremwa rero, kuri Twebwe riroroshe cane."},{"id":45,"translation":"Twebwe Turazi neza ibivugwa n’ababangikanyamana mu kurementanya no mu guhakana Aayah n’ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Kandi wewe, ntujejwe namba kubahatira kuba abislamu, ahubwo ujejwe ishikirizabutumwa; ibutsa rero ukoresheje Qor’ani, uwutinya akaniyubara ukwihaniza kwanje ku bihano vyo ku musi w’izuka."}]},{"id":51,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku bihuhusi bitumura ivumbi;"},{"id":2,"translation":"No ku bicu vy’imvura;"},{"id":3,"translation":"No ku bwato bugendera mw’ibahari vyoroshe;"},{"id":4,"translation":"No ku bamalayika bashikana amabwirizwa y’Imana Allah ku biremwa;"},{"id":5,"translation":"Ko vy’ukuri izurwa ry’ibiremwa musezeranirwa ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika;"},{"id":6,"translation":"N’uko mu vy’ukuri iharurirwa n’impera ku vyo mwakoze, bitegerezwa kuba!"},{"id":7,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryaremwe mu buryo butangaje;"},{"id":8,"translation":"Ko mu vy’ukuri, mwebwe abahakanyi muri ba mahindagu ku vyerekeye ukwemera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":9,"translation":"Higizwa kure ya Qor’ani n’Intumwa, uwigijwe kure y’ukuvyemera mu kwirengagiza ivyemezo vy’Imana Allah."},{"id":10,"translation":"Harakavumwa rero abahakanyi bibwira ibitari ukuri;"},{"id":11,"translation":"Abimonogoje mu buhakanyi, bagoswe mu bugarariji;"},{"id":12,"translation":"Babaza bitangaza mu ntumbero yo guhakana bati: “Mbega umusi w’iharurirwa n’impera, uzoshika ryari!”."},{"id":13,"translation":"Umusi w’iharurirwa n’impera, ni umusi bahanishijwe umuriro;"},{"id":14,"translation":"Maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje ibihano vyanyu, ari na vyo mwahora mwihutira gusaba kw’isi ko mwohabwa”."},{"id":15,"translation":"Mu vy’ukuri abagamburukiramana, kuri uwo musi bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’amazi y’imbizi atemba;"},{"id":16,"translation":"Maze bakirane urweze n’akanyamuneza, impano bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko bahabwa nya mpano, bahora ari abagwaneza mu bugamburutsi bwabo kw’isi;"},{"id":17,"translation":"Ni gake baryama mw’ijoro ku kubera ugusenga;"},{"id":18,"translation":"No mu bucagucagu, barasaba Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo;"},{"id":19,"translation":"No mu matungo yabo, baratanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, bagahereza umukene asega n’uwipfa agasoni ntasege."},{"id":20,"translation":"Burya mw’iremwa ry’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bemera ata guhigimanga ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ibwirijwe gusengwa, n’uko Muhamadi ari Intumwa yayo."},{"id":21,"translation":"Bantu! No mw’iremwa ryanyu nyene, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yabaremye, gutyo Ikaba ari Yo Ibwirijwe gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa. Mbega none ntimubona ngo mutegere ukuri!"},{"id":22,"translation":"Ibibabeshaho hamwe n’ivyo musezeranirwa: vyaba ivyiza canke ibibi, amahirwe canke amarushwa, vyose biri mw’ijuru, vyaragezwe kandi biranditswe."},{"id":23,"translation":"Ku kubera ivyo vyose rero, Ndarahiye Jewe Allah ku kuba ari Jewe Rurema Yaremye ijuru n’isi, ko ivyo Nabasezeraniye vyose, ari ukuri mudakwiye kugirako amakenga; nka kurya mutagira amakenga ko muvuga mugatomora."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abashitsi bubashwe mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":25,"translation":"Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca baramutsa bati: “Nimugire amahoro”; maze na we akabishura ati: “Nimusangwe amahoro, emwe bashitsi ntamenye abo muri bo!”."},{"id":26,"translation":"Ni ho yinyavya mu kigo afata ishashi y’inka inuze arayibaga, arayotsa;"},{"id":27,"translation":"Araheza ayizimana ba bashitsi mu rupfasoni nta ngere ati: “Mbega ntimwokwihereza!”;"},{"id":28,"translation":"Ibrahimu amaze kubona ko ba bashitsi badafunguye, vyaramuteye ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba, zahavuye mu kumuhumuriza zimubwira ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika”. Ni ho rero baca banamushikiriza n’agakuru keza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka."},{"id":29,"translation":"Umukenyezi wa Ibrahimu Sarah aho yumviye inkuru yuko azokwibaruka umwana, yaregereye hafi yabo, maze yikubita kw’itama yitangaza ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, nkaba ndi n’ingumba!”."},{"id":30,"translation":"Ba bashitsi b’abamalayika bamwishuye bati: “Iyo nkuru tuyikubwiye nk’uko yavuzwe n’Imana yawe Rurema Allah Yo Mushoboravyose; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose”."},{"id":31,"translation":"Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye nya ntumwa mu bamalayika ati: “Ntumwa z’Imana! None mwoba mugenzwa n’amaki?”;"},{"id":32,"translation":"Na zo zirishura ziti: “Mu vy’ukuri, twarungitswe ku bantu b’abanyavyaha bimonogoje mw’igarariza;"},{"id":33,"translation":"Kugira tubahanishe amabuye yokeje;"},{"id":34,"translation":"Nya mabuye ariko ikimenyetso kivuye ku Mana yawe Rurema Allah, yagenewe abimonogoje mu bugarariji bagenzwa n’ubwononyi kw’isi”."},{"id":35,"translation":"Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura mu gacimbiri k’abantu ba Luutwi, abemeramana;"},{"id":36,"translation":"Eka mbere ntitwanasanze muri nya gacimbiri, kiretse umuhana umwe gusa w’abemeramana, ukaba wari uwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":37,"translation":"Muri ko, Twahasize ikimenyetso c’igihano Twabahaye, cerekana ubushobozi bw’Imana Allah bwo guhana, ku bantu batinya ibihano vyayo bibabaza."},{"id":38,"translation":"No mw’irungikwa rya Musa kwa Firawuni n’abunganizi biwe, igihe Tumurungikana Aayah n’ivyemezo bigaragara, harimwo Aayah n’inkebuzo ku bantu batinya ibihano bibabaza vy’Imana Allah."},{"id":39,"translation":"Firawuni yaragenjeje umugongo arirengagiza ukuri ku kwishimira inguvu ziwe, maze avuga ati: “Musa, ni umurozi canke ni umukehabwenge yeruye!”."},{"id":40,"translation":"Ni ho rero Twafata Firawuni n’ingabo ziwe, Duca Tubaterera mw’ibahari. Firawuni yari yakoze ibituma atabwako imiragwe ashavuriwe n’Imana Allah."},{"id":41,"translation":"No mw’ihonywa rya Bene Aadi, harimwo Aayah n’inkebuzo ku wutegera, igihe Twabarungikira igihuhusi gitema kigatongora;"},{"id":42,"translation":"Nta kintu na kimwe nya gihuhusi caciyeko, kiretse ko cagisiga ari ubunywenywe."},{"id":43,"translation":"No mw’ihanwa rya Bene Thamuudi, harimwo Aayah n’inkebuzo, igihe Intumwa yabo Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yababwira iti: “Nimuryoherwe mu zanyu imisi itatu itarenga ntirenguke mu kurindira urwanyu ko rushika”."},{"id":44,"translation":"Bene Thamuudi baragabitanije kw’ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah, baca bahitanwa n’igihano c’umuriro amaso mu yandi;"},{"id":45,"translation":"Ntibashoboye no guhaguruka ngo babihunge bitarashika, canke ngo bavyikuremwo, eka mbere n’iyo bahunga ntibari kubirokoka."},{"id":46,"translation":"Twaranahoneje abantu ba Nuhu hambere yabo. Mu vy’ukuri abantu ba Nuhu, bari n’abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":47,"translation":"N’ijuru ryegereye isi, Twarariremye maze Turaritunganya, kugira riyibere igisenge kiyikingira, kandi mu vy’ukuri Turanaryagura;"},{"id":48,"translation":"N’isi, Twarayigize nk’isaso kugira ibiremwa biyiturureko, ni Twebwe rero Abeza b’abasasa."},{"id":49,"translation":"No mu bwoko bw’ibiremwa vyose, Twaremye bibiribibiri bitandukanye mu ndemo; nk’igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwibuke ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mwikebuke."},{"id":50,"translation":"Bantu! Enda rero nyabuna nimuhungire ibihano vy’Imana Allah, mu kwirukira ku mpuhwe zayo, maze mwemere mwongere mugamburukire Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo[1].","footnotes":"[1] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo hagize ikiyigora, yaca iremururira umushaha wayo kw’isengesho, ubwo bukaba ari uburyo bumwe mu buryo bwo guhungira ku Mana Allah."},{"id":51,"translation":"Ntimukanabangikanye Imana Allah mu vyo mukora vyose mu kuyisenga n’iyindi mana. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo."},{"id":52,"translation":"Nk’uko rero Abakorayishi bahakanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakavuga bati: “Muhamadi, ni umwivuzi w’amazina, canke umurozi, canke umukehabwenge”; ni ko n’imigwi y’abantu bo hambere yabo yabigenjeje, ntiyigeze irungikirwa Intumwa n’imwe, kiretse ko yavuga nk’ukwo nyene, bituma Tuyihana."},{"id":53,"translation":"Mbega yemwe! Abo hambere, boba basigiye abo mu nyuma zabo iragi ryo guhakana Intumwa muri ubwo buryo nyene! Ahubwo rero mbere, bo ni abantu biganza bakagarariza, bagahuza umutima w’ubugarariji n’akagagazo, gutyo bagasusa no mu buryo bwo kugarariza."},{"id":54,"translation":"Ntumwa y’Imana! Irengagize ababangikanyamana mu kurindira itegeko riberekeye, nta n’uwogutako imiragwe kuko wamaze gushikana ubutumwa;"},{"id":55,"translation":"Hamwe n’ivyo rero, shishikara irarikiramana wibutsa abo warungitsweko, mu vy’ukuri ukwibutswa kuragirira akamaro abemeramana, na kare ngo uwukebura uwiwe agumizako."},{"id":56,"translation":"Jewe Allah, sinaremye Amajini n’abantu Nkabarungikira n’Intumwa, atari ukugira banyiyegereze mu vyo bakora vyose banansenge batambangikanya na kimwe mu biremwa;"},{"id":57,"translation":"Nta bimbeshaho ndabashakako, eka mbere nta n’imfungurwa Ndabasavye, kuko ni Jewe Mubeshaho w’ibiremwa, Nyenugutanga."},{"id":58,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rutunga Ibeshejeho ibiremwa vyose, Nyeninguvu, Mutananirwa."},{"id":59,"translation":"Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baragenewe umugabane w’ibihano; nk’uwagenewe bagenzi babo bahakanye hambere yabo, ntibihutire rero gusaba guhanwa, kuko bitebe bitebuke, bategerezwa guhanwa."},{"id":60,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bakazohanwa kuri wa musi wabo w’izuka basezeranirwa ko bazohanwa."}]},{"id":52,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku musozi wa Twuuri Sinayi, ari na wo Navuganiyeko na Musa ukuri kwamye;"},{"id":2,"translation":"No ku Gitabu ca Qor’ani canditswe;"},{"id":3,"translation":"No ku Mizingo ihinguwe mu rusato, yuguruye;"},{"id":4,"translation":"No ku ngoro iri mw’ijuru ryegereye isi, irimwo abamalayika bama bariko barayikikura ku mwanya ku mwanya;"},{"id":5,"translation":"No kw’ijuru ryegereye isi, rikaba ari na co gisenge cayo;"},{"id":6,"translation":"No kw’ibahari rizodomekwa rikarurumba ku musi w’umuhero w’isi;"},{"id":7,"translation":"Ko mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema ga Ntumwa y’Imana, bitegerezwa gushikira abagarariji;"},{"id":8,"translation":"Nta n’uwuzobuza ko nya bihano bibashikira;"},{"id":9,"translation":"Ku musi ijuru ryasenyutse rigacika ubunywenywe;"},{"id":10,"translation":"Imisozi na yo igakurwaho, maze ikagenda nka kurya ubona ibicu bigenda!"},{"id":11,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa kuri uwo musi, ni ukw’abahakana ukuri bivuye inyuma;"},{"id":12,"translation":"Barya bishinga gufyinata mu gutebura kw’idini;"},{"id":13,"translation":"Umusi rero, abahakanyi basunikiwe mu muriro wa Jahannamu ukuri kwo gusunikirwayo;"},{"id":14,"translation":"Bazobwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ng’uwo wa muriro mwahora muhakana ko utabaho;"},{"id":15,"translation":"Mbega none ibi bihano murimwo, ni uburozi canke nta vyo mubona!"},{"id":16,"translation":"Nimuwinjire muwote rero; mwihangana mutihangana, vyose ni kimwe, ntimurota mutezurirwa mu bihano. Ni ukuri, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”."},{"id":17,"translation":"Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, bari no mu nema zihambaye;"},{"id":18,"translation":"Akamwemwe kabasya, baryohewe n’inema z’ubwoko bwose bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, kandi Imana yabo Rurema Allah Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;"},{"id":19,"translation":"Maze babwirwe bati: “Nimurye mwongere munywe n’akayabagu kenshi, burya muhembewe ibikorwa vyiza mwari mwarakoze kw’isi”."},{"id":20,"translation":"Bazoba rero bicaye ku bitanda bisharije bitondetse neza. Tuzonabatera iteka Tubashingire abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini)."},{"id":21,"translation":"Na barya bemeye, maze n’uruvyaro rwabo rukabakurikira mu kwemera, Tuzobakurikiza uruvyaro rwabo mu Bwami bw’ijuru, n’aho batazoba bari ku rugezo rw’ibikorwa vyabo, kandi ntituzogabanya na kimwe ku ndishi y’ivyo bakoze. Burya umuntu wese azofatirwa ku vyo yakoze, nta wuzohanirwa icaha c’uwundi."},{"id":22,"translation":"Hejuru y’inema bazoba barimwo, Tuzobaha ivyamwa n’inyama bitera akayabagu, kuko biri mu bintu bikundwa cane;"},{"id":23,"translation":"Tuzobaha n’umwuhiro w’inzoga zitaboreza, ibirahuri vy’inzoga bikurakuranwa, bahererekanya hagati yabo mu Bwami bw’ijuru; nya nzoga, nta ho zisa zisana n’izo kw’isi ziyayura umutwe, umuntu agatangura kudedemba avuga ayamuhe yitonganya;"},{"id":24,"translation":"Bazoba bakikijwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana; uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni lulu[1] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu.","footnotes":"[1] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yayo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane."},{"id":25,"translation":"Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;"},{"id":26,"translation":"Maze bavuge bati: “Mu vy’ukuri, mu buzima twabayeho mu bacu, aho hambere kw’isi, twaratinya Imana yacu Rurema Allah, tukamana impungenge ku bihano vyo ku musi w’izuka;"},{"id":27,"translation":"Maze Imana Allah Itugirira ubuntu, Iturongora mu nzira yayo, Iraheza Idukingira n’ibihano vy’umwokero wa Jahannamu;"},{"id":28,"translation":"Mu vy’ukuri n’imbere y’ugukingirwa nya bihano, twahora dutakambira Imana Allah, mu kuyisaba tutayibangikanya, ko Yobidukingira. Mu vy’ukuri, ni Yo Mugiranezamurivyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo”."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibutsa rero abo warungitsweko ukoresheje Qor’ani, kuko guhabwa kwawe ubutumwa n’ubumenyi mw’idini, si vyo vyotuma witwa Senyagara avuga ivyo adafitiye ubumenyi, canke umusazi yakehewe n’ubwenge."},{"id":30,"translation":"Canke ababangikanyamana boba bavuga bati: “Uwo Muhamadi mwumva, ni umwivuzi w’amazina, tumuteze imisi, mureke urupfu ruramubona!”"},{"id":31,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nimurindire urupfu rwanje, nanje mu vy’ukuri ndacarindiriye hamwe na mwe ibihano muzohabwa”."},{"id":32,"translation":"Ahubwo rero, burya ubwenge bw’ababangikanyamana, bwoba bubategeka kuvuga ijambo ry’igarariza nk’iryo, mu gihe bitarigera bishika ko umuntu yoba senyagara, akaba umwivuzi w’amazina, akaba n’umusazi mu mwanya umwe! Ahubwo rero bo, ni abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":33,"translation":"Ahubwo none, ababangikanyamana boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ahubwo rero bo, ntibemera namba."},{"id":34,"translation":"Nivyaba biri nk’ukwo babivuga, nibazane rero amajambo arementanije nka Qor’ani, nibaba ari imvugakuri ko Muhamadi yarementanije Qor’ani."},{"id":35,"translation":"Mbega ababangikanyamana, boba baremwe n’ubusa ata cabaremye! Canke boba bariremye! Usangwa bataremwe n’ubusa canke ngo bireme, nibamenye rero ko Imana Allah ari Yo Yabaremye, n’uko ari Yo rero, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa."},{"id":36,"translation":"Canke boba bararemye amajuru n’isi muri ubu buryo buhimbaye! Ahubwo rero, ntibemera namba ko bazohanwa."},{"id":37,"translation":"Canke boba bajejwe ibigega vy’Imana yawe Rurema Allah! Canke boba baganza ibiremwa vy’Imana Allah! Ahubwo rero bo, nta n’ico bishoboje."},{"id":38,"translation":"Canke boba bafise ingazi burirako ngo bumvirize ihishurwa ry’Imana Allah ko bari mu kuri! Nivyaba biri nk’ukwo babivuga rero, uwavyumvise muri bo, enda rero nyabuna nazane icemeza kigaragara cemeza ko bari mu kuri."},{"id":39,"translation":"Mbega none, Imana Allah Yarigeneye abana b’abakobwa, Iraheza na mwe Ibagenera abana b’abahungu nk’uko muvyibwira mwihenda!"},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, woba usaba ababangikanyamana impembo kw’irarikiramana ryawe, bigatuma batakwumvira ku kuremerwa n’iyo mpembo ubasaba!"},{"id":41,"translation":"Canke boba bafise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa, baheza bakabwandika babushikiriza abantu! Baranguha, ubwo bumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa ni ubw’Imana Allah gusa."},{"id":42,"translation":"Ahubwo bashaka gukoresha urwenge ngo bagirire nabi Intumwa n’abemeramana. Nibamenye rero, ko Imana Allah Izohinyura urwenge rw’abagararije, maze inabi babipfuriza igaruke kuri bo nyene, na kare ngo urucira mukaso rugatwara nyoko."},{"id":43,"translation":"Canke boba bafise iyindi mana ikwiye gusengwa atari Imana Allah! Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya."},{"id":44,"translation":"Ababangikanyamana no mu gihe bobona igihande c’ijuru kibaguyeko, ntiboretse guhakana, bovuze bati: “Ivyo, ni ibicu gusa vyiyegeranije”."},{"id":45,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, bareke barendegere gushika igihe bahuye n’umusi wabo w’izuka bazohanirwako;"},{"id":46,"translation":"Umusi urwenge rwabo ata na kimwe ruzobamarira mu gihe bazoba bari mu bihano vy’Imana Allah; eka mbere bobo, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakuremwo."},{"id":47,"translation":"Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana, barategekanirijwe n’ibihano mu buzima bwo kw’isi[2], ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi.","footnotes":"[2] Nko kwicwa, kugirwa imbohe hamwe rero no guhanirwa mu mva, n’ibindi."},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ishikirizabutumwa ku bw’Imana Allah, maze wihanganire n’ibangamira ry’abaguhakana; mu vy’ukuri wewe, Tugushinze ijisho nta kigukorako urakingiwe, uheze uninahaze n’Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mu gihe ugiye gusenga no mu gihe uvyutse;"},{"id":49,"translation":"Uheze rero no mw’ijoro uyininahaze mu kuyishimagiza mw’isengesho, wongere ugire nk’ukwo nyene mu mutwenzi igihe c’irenga ry’inyenyeri."}]},{"id":53,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri iyo zirenze;"},{"id":2,"translation":"Ko umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), atigeze ahuba namba inzira y’ukuri;"},{"id":3,"translation":"Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe;"},{"id":4,"translation":"Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah."},{"id":5,"translation":"Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yigishijwe n’umumalayika Jibrili arangwa n’inguvu nta ngere;"},{"id":6,"translation":"Afise n’indemo nziza ibereye ijisho igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amubona ukuri kwamye;"},{"id":7,"translation":"Ari mu kirere hejuru ku rugero rw’aho izuba riserukira;"},{"id":8,"translation":"Hanyuma rero, ni ho umumalayika Jibrili yegera aho Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iri, maze arasubira arayegera hafi cane;"},{"id":9,"translation":"Gushika n’aho aba hafi yayo nka kurya kw’amasonga abiri y’umuheto canke mbere hafi cane kurusha (nka kurya kw’umunwa n’izuru);"},{"id":10,"translation":"Aho rero, ni ho Imana Allah Yahishurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ivyo Yamuhishuriye Ibicishije ku mumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":11,"translation":"Umushaha wa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), eka ntiwigeze uhinyuza ico yiboneye n’amaso yiwe."},{"id":12,"translation":"Mbega mubeshuza Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mukamuhaririza ku vyo abona mu vyemezo vy’Imana Allah!"},{"id":13,"translation":"Ni ukuri, yarabonye umumalayika Jibrili ubugira kabiri ukuri kwamye;"},{"id":14,"translation":"Ahari igiti ca Sidri mw’ijuru ry’indwi, akaba ari na ho ibiduzwa biva kw’isi n’ibimanuka biva hejuru biherera;"},{"id":15,"translation":"Aho ni ho hari Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana;"},{"id":16,"translation":"Igihe ico giti ca Sidri kibonekeyemwo ivyerekana ububasha buhambaye bw’Imana Allah, ata n’umwe ashobora kumenya ukungene buteye atari Imana Allah gusa;"},{"id":17,"translation":"Muri ico gihe, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranzwe n’ubugamburutsi nya bwo, ntiyigeze akebaguzwa iburyo canke ibubamfu, ntiyanarengereye kuraba ivyo atarekuriwe;"},{"id":18,"translation":"Ni ukuri mw’ijoro ryo kuduzwa mw’ijuru, yarabonye Aayah n’ivyemezo bikurubikuru vy’Imana yiwe Rurema Allah, vyerekana ububasha n’ubushobozi vyayo; nk’Ubwami bw’ijuru, umuriro, n’ibindi."},{"id":19,"translation":"Babangikanyamana! Murabona imana zanyu musenga; Laata na Uzzaa;"},{"id":20,"translation":"Hamwe na Manaata igira gatatu, mbega zoba hari ico zimaze canke zica ku buryo zobangikanywa n’Imana Allah!"},{"id":21,"translation":"Bishoboka gute ko mwigenera umwana w’umuhungu ku rukundo mufitiye abahungu, mukubahuka kwomekera umwana w’umukobwa ku Mana Allah, mu vyo mwibwira ku rwanko gusa mufitiye abakobwa!"},{"id":22,"translation":"Iryo rero, ni ryo gaburwa ry’akarenganyo koko."},{"id":23,"translation":"Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye."},{"id":24,"translation":"Umuntu, ntazoronka ivugirwa yipfuza kuri ivyo bigirwamana canke ku bindi;"},{"id":25,"translation":"Imana Allah, ni Yo Nyeningingo yubahirizwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa."},{"id":26,"translation":"Hari benshi mu bamalayika bari mu majuru hamwe n’icubahiro bafise, ivugira ryabo ata na kimwe rizomara, kiretse inyuma y’aho Imana Allah Izorekurira uwo Ishatse muri bo ngo hagire uwo avugiye, hanyuma Ikanishimira n’uwuvugiwe."},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri, abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa ko bubaho ngo babwitegurire, ni ukuri, ku kwemera kwabo kw’ibintazi, bita abamalayika abakobwa kuko bibwira ko ari abana b’Imana Allah b’abakobwa;"},{"id":28,"translation":"Nta n’ubumenyi bafise bwemeza ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah; ntibanakurikira, kiretse ugukekeranya gusa, kandi rero burya mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigusubirira ukuri na gato."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Irengagize ubirabishe amaso. Uwugenza umugongo yirengagiza urwibutso rwacu rwa Qor’ani, nta kindi arondera kiretse ubuzima bwo kw’isi;"},{"id":30,"translation":"Aho ni ho ubumenyi bwabo bugera. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza uwahuvye inzira y’ukuri, ni na Yo Izi neza kandi uwakurikiye inzira y’ubwislamu[1].","footnotes":"[1] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yihaniza ibigaba vyirengagiza kwubahiriza Igitabu cayo no kugendera imigenzo y’Intumwa yayo, maze bigahitamwo kwubahiriza ivyipfuzo vyavyo no guhurumbira ibihendamaso vy’isi ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":31,"translation":"Imana Allah, ni na Yo rero Rugaba, Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, kugira Ihanire abakoze nabi ku vyo bakoze, Iheze Ihembe abakoze neza Ubwami bw’ijuru;"},{"id":32,"translation":"Abirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe."},{"id":33,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwugenza umugongo akirengagiza igamburukiramana!"},{"id":34,"translation":"Maze agatanga dukeya mu matungo yiwe, hanyuma agateba agaheba gutanga n’utwo dukeya;"},{"id":35,"translation":"Mbega yoba azi mu binyegejwe ibiremwa, ko amatungo yiwe azoteba agahera n’aho yoheba gutanga, akazovyibonera n’amaso! Uko yiyumvira si ko biri. Ahubwo areka gutanga, kuko ari impfumbasi ruhebwa;"},{"id":36,"translation":"Mbega ntiyabwiwe ibiri muri Tawurati ya Musa;"},{"id":37,"translation":"N’ibiri mu Mizingo ya Ibrahimu yubahirije ishirwa mu ngiro ry’ivyo yategetswe!"},{"id":38,"translation":"Ko ata muntu azohanirwa icaha ca mugenziwe, akazobazwa ku vyo yakoze ku gatwe kiwe;"},{"id":39,"translation":"N’uko umuntu atazohemberwa, kiretse ico yaranguye we nyene;"},{"id":40,"translation":"N’uko indishi y’ivyo yaranguye izoboneka mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":41,"translation":"Hanyuma akazohemberwa ivyo yaranguye ata kigabanijweko;"},{"id":42,"translation":"N’uko iherezo ry’ibiremwa vyose ku musi w’izuka, ari ku Mana yawe Rurema Allah;"},{"id":43,"translation":"N’uko Imana Allah ari Yo Ituma uwutwenga, atwenga iyo hagize ikimunezereye; Igatuma n’uwurira, arira iyo hagize ikimubabaza;"},{"id":44,"translation":"N’uko ari Yo Yaka ubuzima uwo Ishatse hageze gupfa, agapfa; Igaha n’ubuzima uwo Ishatse, akabaho;"},{"id":45,"translation":"N’uko Yaremye mu bantu no mu binyabuzima ibitsina bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore;"},{"id":46,"translation":"Ikabirema mu ntanga zisunitswe mu gitereko;"},{"id":47,"translation":"N’uko Imana Allah Izosubiza kandi ubuzima ibiremwa, maze bikazuka ku musi w’izuka;"},{"id":48,"translation":"N’uko ari Yo Ikenura ibiremwa, maze bigatunga bigatunganirwa;"},{"id":49,"translation":"N’uko ari Yo Rurema Yaremye inyenyeri yakaka[2];","footnotes":"[2] Ni inyenyeri yakaka, Abarabu bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":50,"translation":"N’uko ari Yo Yahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi;"},{"id":51,"translation":"Ihonya na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe. Abo bose rero, Yabahonereje rimwe, nta n’igisanira casigaye;"},{"id":52,"translation":"Yahoneje n’abantu barungikiwe Nuhu hambere ya Bene Aadi na Bene Thamuudi. Mu vy’ukuri abo bose, bari n’abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah kurusha abakurikiye mu nyuma."},{"id":53,"translation":"N’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba rero, Imana Allah Yarabibubitseko, maze Ibafuririra mu kuzimu;"},{"id":54,"translation":"Iraheza Ibakurikiza n’amabuye y’urutavanako yahanantutse mu kirere nk’imvura."},{"id":55,"translation":"Muntu uhakana! None, ni iyihe nema mu nema z’Imana yawe Rurema Allah, ufiseko amakenga!"},{"id":56,"translation":"Ng’uyu rero Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Umugabisha w’ukuri ku vyo n’Abavugishwamana bo hambere yiwe bagabishijeko abo barungitsweko. Ntabwo rero ari icaduka mu Ntumwa."},{"id":57,"translation":"Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika;"},{"id":58,"translation":"Nta wushobora kubuza canke ngo amenye isango uzoshikirako atari Imana Allah."},{"id":59,"translation":"Babangikanyamana! Mbega mutangazwa n’uko iyi Qor’ani yoba koko ari ukuri;"},{"id":60,"translation":"Mukanatwenga muyiteburako, ha kurira kw’igabishwa ririmwo ku bihano bibarindiriye;"},{"id":61,"translation":"Mukabandanya mufyinata munayirengagiza!"},{"id":62,"translation":"Enda rero nyabuna nimwubamire Imana Allah mu gushira uruhanga hasi, mweze n’ivyo mukora vyose mu kuyiyegereza ku bwayo[3].","footnotes":"[3] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah ugashika ku mpera, uca wubamira Imana Allah."}]},{"id":54,"verses":[{"id":1,"translation":"Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika, n’ukwezi kwigabuyemwo kubiri[1];","footnotes":"[1] Abagarariji b’i Makka, barasavye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko yobereka igitangaro cotuma bayemera, ica isaba Imana Allah ko Yokibereka, Imana Allah Ica Ibereka ukwezi kwigabuyemwo kubiri ukuri kwamye, maze baravyibonera n’amaso."},{"id":2,"translation":"N’iyo ababangikanyamana babonye igitangaro cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, barirengagiza kumwemera bakamwamirira kure, bakavuga bahakana bati: “Ico gitangaro, ni uburozi butamara kabiri”;"},{"id":3,"translation":"Barahakanye bivuye inyuma Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze bakurikira ubuhuvyi ku vyipfuzo vyabo. Uguhembwa ineza canke inabi ku vyakozwe n’ibiremwa rero, bitegerezwa kuba ku musi w’izuka, nta gisivya."},{"id":4,"translation":"Abagarariji b’Abakorayishi, ni ukuri barashikiriwe n’inkuru z’ivyashikiye abigeze kugarariza Intumwa, maze ibashikira mu buryo bukwiye kandi butomoye kugira bavavanure n’igarariza."},{"id":5,"translation":"Iyi Qor’ani yabashikiriye, irimwo imvo n’imvano y’ingingo n’amabwirizwa vyotuma batumbera ukuri. None ni irihe gabishwa ryogira ico rimariye abantu birengagije bakamirira kure Qor’ani!"},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Birengagize maze ubarabishe amaso. Bihoze, ubarindire, ubatege umusi umuraritsi yavugije inzamba ararikira ibiremwa kuja ku kintu gihambaye koko, na co si ikindi, ni uguharurirwa ivyo vyakoze;"},{"id":7,"translation":"Umusi, amaso yavyo azoba araba hasi ku guteterwa, bigayitse, bisokoroka biva mu kuzimu nka kurya kw’inzige zaraze zigashwiragirika zigakwira hose;"},{"id":8,"translation":"Maze bigende binyaragasa ku co nya muraritsi abirarikiye, abagarariji bace bavuga bati: “Uwu musi ku ntureka zawo, uraremereye pe!”."},{"id":9,"translation":"Ntumwa y’Imana! Aho hambere yabo, haragararije abantu ba Nuhu, baraheza barahakana bivuye inyuma Umuja wacu Nuhu, maze barinamura bavuga bati: “Nuhu, ni umusazi yakehewe n’ubwenge!”; baraheza baramwihaniza bamutega imisi."},{"id":10,"translation":"Nuhu aca arasaba Imana yiwe Rurema Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, narengewe no guhangana na bo, ndagusavye rero ko Untabara mu kubahana”;"},{"id":11,"translation":"Duca Turamwumvira, maze Twugurura imihora y’amazi azanana mu kirere;"},{"id":12,"translation":"Duca n’amariba y’amazi, imbizi idudubiza iva mu kuzimu, gutyo amazi azananye mu kirere ahurirana n’ay’imbizi, baca bahonera rimwe nk’uko vyari vyagezwe n’Imana Allah, baba akayazwe."},{"id":13,"translation":"Ni ho rero Twarerura Nuhu hamwe n’abo bari kumwe mu bwato buhinguwe mu mbaho n’imisumari;"},{"id":14,"translation":"Bugenda bureremba aho Tubona n’amaso yacu, bucungerewe, gutyo Turokora Nuhu n’abari kumwe na we; abagarariji na bo Tubahonesha isegenya ry’akataraboneka, ku kubera ubugarariji bwabo."},{"id":15,"translation":"Ni ukuri, Twazigamye inkuru y’ivyashikiye Nuhu n’abantu biwe, kugira ibere abakurikiye mu nyuma, inkebuzo n’icemezo c’ubushobozi bwacu mu guhana ibigaba, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!"},{"id":16,"translation":"Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!"},{"id":17,"translation":"Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke[2]!","footnotes":"[2] Iyi Aayah n’izindi zisusa na yo mu nsiguro, zihimiriza abantu kwiga, kwigisha no gusoma kenshi Qor’ani."},{"id":18,"translation":"Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Huudi, Duca Turabahana. Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje! Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!"},{"id":19,"translation":"Mu vy’ukuri, Twabarungikiye igihuhusi c’igikonyozi ku musi mubi w’ibihano vy’urutavanako, ata gahengwe;"},{"id":20,"translation":"Nya bihano vyarandurana n’imizi abantu bikabashikura, bikabajugunyira hariya, ibihimba vy’umubiri bigatandukana, umutwe ukwawo n’ibindi bihimba ukwavyo, bagasigara ari nka kurya kw’ibishitsi vy’ibiti vy’itende vyaranduwe."},{"id":21,"translation":"Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!"},{"id":22,"translation":"Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!"},{"id":23,"translation":"Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;"},{"id":24,"translation":"Maze barinamura bavuga bati: “Bishoboka gute ko dukurikira umuntu umwe nkatwe ata n’ico yodukangisha, kandi ari twe turi benshi! Mu vy’ukuri, hamwe twomukurikira, ni ukuri twoba turi mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri, mbere twoba turi n’abasazi!"},{"id":25,"translation":"Vyoshoboka gute, ko ari we gusa muri twese ahishurirwa agahabwa ubutumwa! Ahubwo rero we, ni umubeshi ruhebwa yishima”."},{"id":26,"translation":"Igihe bashikiwe n’ibihano vyo mu buzima bwo kw’isi n’ivyo mu bw’inyuma yo gupfa, bazoheza bamenye neza umubeshi ruhebwa yishima, n’uwutari we."},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tugira dukurire Bene Thamuudi mw’ibuye ingamiya basavye, kugira Tubagerageze. Swalehe! Rindira wewe gusa, uzokwirabira ibihano bizobashikira nibashishikara guhakana, ubandanye wihanganira ibangamira ryabo kw’irarikiramana ryawe;"},{"id":28,"translation":"Bamenyeshe kandi ko amazi agabuwe kw’izamu hagati yabo n’iyo ngamiya. Bagenewe umusi umwe wo kuvoma, uwundi musi ukurikira na wo ugenewe ingamiya. Kizire ko hagira uwuvogerwa ku musi wiwe."},{"id":29,"translation":"Ni ho rero Bene Thamuudi bahamagara mugenziwabo baramuryosharyosha ngo yice nya ngamiya, aca arayifata arayicumita arayikerera, baca barahanwa;"},{"id":30,"translation":"Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!"},{"id":31,"translation":"Mu vy’ukuri mu kubahana, Twabarungikiye umumalayika Jibrili, maze akoma akaruru rimwe baca bahonera rimwe bose, baba nk’ivyatsi vyumye bivungagurika birunzwe mu ruhongore rw’ibitungwa."},{"id":32,"translation":"Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!"},{"id":33,"translation":"Abantu ba Luutwi, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;"},{"id":34,"translation":"Mu vy’ukuri, mu kubahana Twabarungikiye igihuhusi c’urubuye kirabahitana, kiretse umuryango wa Luutwi Twarokoye mu bihano mu bucagucagu;"},{"id":35,"translation":"Ku nema y’impuhwe zacu Twagiriye nya muryango. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Luutwi n’umuryango wiwe Tukabarokora mu bihano - Duhemba uwutwemera akanashima inema zacu."},{"id":36,"translation":"Ni ukuri, Luutwi yaragabishije ku bihano vy’Imana Allah abo yarungitsweko. Ha kumwumvira, bivuye inyuma mu guhakana Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;"},{"id":37,"translation":"Ni ukuri, baranamwinginze ngo abareke basambanye abamalayika baje kumugendera, maze Turabahumya amaso ntibashobora kubona n’umwe muri bo, baca babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”."},{"id":38,"translation":"Ni ukuri, bazinduwe n’ibihano vyo mu bucagucagu vy’urutavanako, ata gahengwe;"},{"id":39,"translation":"Maze babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje bitewe no kugarariza kwanyu, n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”."},{"id":40,"translation":"Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!"},{"id":41,"translation":"Ni ukuri abantu ba Firawuni, barashikiriwe na Aayah n’ivyemezo bibagabisha ku bihano vyacu;"},{"id":42,"translation":"Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyose vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Allah, bikerekana n’ukuri kw’Intumwa zacu, Duca Turabafata Turabahana uguhana kwa Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Mushoboravyose."},{"id":43,"translation":"Bakorayishi! Abagarariji muri mwebwe, ni bo ntore rero gusumba abo Duhejeje kubiganira Twahoneje kubera ubugarariji bwabo! Canke mwoba mufise ubudahangarwa bwo kudahanwa n’Imana Allah bwanditswe mu Bitabu Yamanuye!"},{"id":44,"translation":"Ahubwo rero, burya abagarariji b’i Makka, boba bihenda bakavuga bati: “Twebwe twese hamwe turamutse tugize urunani, turashobora gutsinda uwudushakira inabi tukamunesha!”."},{"id":45,"translation":"Bose hamwe mu runani rwabo, bazotsindwa baneshwe n’abemeramana, maze batungwe n’ayo bameze[3].","footnotes":"[3] Vyarashitse koko abagarariji baraneshwa ku rugamba rwa Badri, bamwe muri bo baricwa, abandi bagirwa imbohe; abacitse kw’icumu na bo banyaga amagara barata barahunga batazambaye."},{"id":46,"translation":"Mbere isango ryabo ryo guhanirwako, ni ku musi w’izuka; kandi ku musi w’izuka ryabo, bazohanwa bahashwe, maze bahabonere ayo imbwa yaboneye ku mugezi."},{"id":47,"translation":"Mu vy’ukuri, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazoba bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri no mu magorwa y’ibihano;"},{"id":48,"translation":"Umusi babururiwe mu muriro bubitse inda, maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano bikaze vy’umuriro wa Jahannamu ubabura”."},{"id":49,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ikintu cose Twakiremye ku rugero rwagezwe kandi ruzwi mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”."},{"id":50,"translation":"Twebwe Allah, nta tegeko ryacu Duha ikintu ico ari co cose Dushatse ko kiba, kiretse ko Tukibwira ijambo rimwe gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene mu kanya isase nk’ikoma ry’urugohe."},{"id":51,"translation":"Bagarariji! Ni ukuri, Twarahoneje mu bantu bo hambere, abari bateye nkamwe mu bugarariji. Mbega none, hoba hari uwibuka ukuntu bahonejwe ngo yikebuke!"},{"id":52,"translation":"N’ivyo bagize vyose rero; vyaba ivyiza canke ibibi, biranditswe mu bitabu vy’abamalayika bajejwe kwandika ibikorwa vy’ibiremwa;"},{"id":53,"translation":"N’ico ari co cose bikoze; caba gito canke kinini, kiranditswe, kandi bizogihemberwa."},{"id":54,"translation":"Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’inzuzi zitemba;"},{"id":55,"translation":"Bari mu cicaro c’ukuri kitigera kiyagirwamwo ibintu vy’imburakimazi, bari ku Mana Allah, Mwamiwabami, Rushoboravyose."}]},{"id":55,"verses":[{"id":1,"translation":"Nyenimpuhwe;"},{"id":2,"translation":"Yarigishije umuntu Qor’ani, mu kumworohereza ukuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa."},{"id":3,"translation":"Yaremye umuntu;"},{"id":4,"translation":"Yamwigishije gutomora ikiri ku mutima; iryo rikaba ari na ryo teka yatewe gusumba ibindi biremwa."},{"id":5,"translation":"Izuba n’ukwezi bigenda bibisikanya mu giharuro ata kwihenda eka ata n’uguhindagurika kw’igiharuro."},{"id":6,"translation":"N’inyenyeri kw’ijuru canke ibiterwa bitagira intimbatimba, hamwe rero n’ibiti bifise umutumba, vyose vyubamira Imana Allah Yabiremye, bikanagamburuka mu kwubahiriza ico vyaremewe ku neza ya kiremwa-muntu."},{"id":7,"translation":"N’ijuru Yararihanitse hejuru y’isi, maze Ishira kw’isi ubutungane Yategetse ko bwubahirizwa hagati y’ibiremwa;"},{"id":8,"translation":"Kugira ntihagire uwo murenganya ku munzani;"},{"id":9,"translation":"Muheze mupime mu butungane, kandi ntimukagabanye ku munzani mu gihe mupimiye abandi."},{"id":10,"translation":"N’isi Yarayishashe neza, kugira ibiremwa bishobore kuyibako;"},{"id":11,"translation":"Kuri nya si rero, hari ivyamwa hamwe n’ibiti vy’itende bishurikira mu gitutwe maze bikama itende;"},{"id":12,"translation":"Hari n’intete zifise agashishwa zibabeshaho, hakaba n’izindi zifise akamotero."},{"id":13,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana[1]!","footnotes":"[1] Igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yasomera Amajini iki gisomwa, igihe cose isomye iyi Aayah, nya Majini yaca yishura ati: “Eka nta n’imwe mu nema zawe Mana yacu Rurema Allah duhakana, ahubwo mbere Urakwiye ishimagizwa muri vyose!”. Birakenewe rero ko umuntu yemanga agashima inema z’Imana Allah mu gihe cose azibukijwe."},{"id":14,"translation":"Bantu! Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ibumba ryokeje;"},{"id":15,"translation":"Irema na Ibilisi, ari na yo nkomoko y’Amajini, mu rubeya rurabagiza rw’umuriro."},{"id":16,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":17,"translation":"Ni Yo Mana Rurema, Yaremye ubuseruko bubiri; mu gihe c’ici no mu gihe c’urushana; Ikaba n’Imana Rurema Yaremye n’uburengero bubiri muri ivyo bihe nyene."},{"id":18,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":19,"translation":"Yahurije hamwe amabahari abiri, atandukanye mu kanovera k’amazi yayo;"},{"id":20,"translation":"Hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo rero, hagati yayo hariho agakingo gatuma amazi y’icunyunyu y’iri bahari atavangana n’amazi y’akanovera y’irindi bahari."},{"id":21,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":22,"translation":"Muri nya mabahari yompi, hacukurwamwo ubutare bwa lulu[2] n'ubwa marjaani[3].","footnotes":"[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.\n[3] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura."},{"id":23,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":24,"translation":"Ni na Yo Nyenububasha, Ituma ubwato bugendera mw’ibahari mu ruja n’uruza, buriko ibitambara bimanitse bingana umusozi, busunikwa n’umuyaga."},{"id":25,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":26,"translation":"Zina kiremwa cose kiri kw’isi, kizopfa gihone;"},{"id":27,"translation":"Maze hasigare gusa Imana yawe Rurema Allah, Yo Yonyene ubwayo, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza[4].","footnotes":"[4] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, ata kugereranya mu maso hayo n’ah’ibiremwa mu kuntu hasa n’ukuntu haremye."},{"id":28,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":29,"translation":"Abari mu majuru n’isi, ni Yo basaba ko Ibaronsa ivyo bakeneye vyose. Imisi yose rero, Iba Iriko Irabishura, maze Igatera iteka uyu Igateza urubwa n’uriya; Igaha uyu, Ikima n’uriya."},{"id":30,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":31,"translation":"Emwe bantu hamwe n’Amajini! Burya, Tuzoteba Tubaharurira ivyo mwakoze kw’isi, Twongere Tubibahembere, Duheze Duhane abanyavyaha, Duhe n’indishi abagwaneza."},{"id":32,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":33,"translation":"Emwe bantu hamwe n’Amajini! Nimwaba mushobora gucaruka mu bihano mugahungira mu mihingo itandukanye y’amajuru n’isi, nimuhunge mwomoke. Eka ntimushobora gucaruka na gato, kiretse ku bushobozi n’ububasha vy’Imana Allah."},{"id":34,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":35,"translation":"Mu gihe mwokwihenda ngo murahunze nya bihano, muzorungikirwa urubeya rw’umuriro, Tubarungikire n’ubutare bw’umujumpu buyongejwe, busukwe ku mitwe yanyu, ntimuzonatabarana hagati yanyu."},{"id":36,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":37,"translation":"Igihe ijuru ryasadaguritse ku musi w’umuhero w’isi, rikarungurira rigasa nk’ishurwe ritukura, rikaba nka kurya kw’amavuta n’icuma vyasebuye bikaryimara."},{"id":38,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":39,"translation":"Kuri uyo musi, abamalayika nta n’umwe bazobaza ku vyaha vyiwe, yaba mu bantu kibure mu Majini."},{"id":40,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":41,"translation":"Abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, abamalayika bazobamenyera ku bimenyetso vyabo bibaranga, maze babacakire mu ruhanga n’ibirenge, babajugunyire mu muriro."},{"id":42,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":43,"translation":"Bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Ng’iyi rero Jahannamu, abanyavyaha bahora bahakana kw’isi ko itabaho”;"},{"id":44,"translation":"Ibihano bazohabwa bizokurakuranwa. Hamwe bazohanishwa umuriro, ahandi bahanishwe amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara."},{"id":45,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":46,"translation":"Uwutinya guhagarikwa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo, azohabwa imirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru."},{"id":47,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":48,"translation":"Nya mirima yompi, irimwo amashami y’ibiti abogaboga ivyamwa."},{"id":49,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":50,"translation":"Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi atemba hagati yayo."},{"id":51,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":52,"translation":"Muri nya mirima yompi, harimwo ubwoko bubiribubiri bw’ivyamwa; bitoto n’ivyumye."},{"id":53,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":54,"translation":"Bazoba bicaye ku bisaswa bitekeyemwo iharire iremereye, no kwamura ivyamwa vyo muri nya mirima yompi bizoba vyoroshe."},{"id":55,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":56,"translation":"Kuri nya bisaswa, hazoba hicaye n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), ata muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo."},{"id":57,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":58,"translation":"Nya bakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, ku bwiza bwabo womengo ni Yaakuuti[5] na Marjaani[6].","footnotes":"[5] Yaakuuti. ni ubwoko bw’ubutare bucukurwa musi y’ibahari, bukaba busa n’ibara ritukura canke ry’ubururu, buremye nk’ibuye, busayangana.\n[6] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura."},{"id":59,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":60,"translation":"Mbega ineza ntiyiturwa iyindi! Indishi y’ubugwaneza rero ni uguhabwa Ubwami bw’ijuru!"},{"id":61,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":62,"translation":"Hamwe n’iyo mirima ibiri, baragenewe kandi n’iyindi mirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru."},{"id":63,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":64,"translation":"Nya mirima yompi, isa n’icatsi kibisi gihakwa kwirabura."},{"id":65,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":66,"translation":"Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi aguma adudubiza, atigera akama."},{"id":67,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":68,"translation":"Muri nya mirima yompi, harimwo amoko y’ivyamwa, itende n’imikomamanga."},{"id":69,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":70,"translation":"Muri iyo mirima yose uko ari ine rero, harimwo abakenyezi barangwa n’ingeso nziza, bakayangana mu maso, eka ntiworaba ubwiza buri aho!"},{"id":71,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":72,"translation":"Ni abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), bari n’ahantu hiherereye mu mahema."},{"id":73,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":74,"translation":"Nta muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo."},{"id":75,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":76,"translation":"Bazoba bicaye ku misego ipfutswe n’ibitambara vy’icatsi kibisi, n’ibisaswa bihinguwe neza, ntiworaba!"},{"id":77,"translation":"Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!"},{"id":78,"translation":"Harakubahwa rero izina ry’Imana yawe Rurema, Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza."}]},{"id":56,"verses":[{"id":1,"translation":"Igihe umuhero w’isi wabaye;"},{"id":2,"translation":"Ukuba kwawo, nta n’umwe ashobora kuguhakana;"},{"id":3,"translation":"Uzota abansi b’Imana Allah mu muriro, uduze abatoni bayo mu Bwami bw’ijuru."},{"id":4,"translation":"Igihe isi yagigimye nya kugigima;"},{"id":5,"translation":"Imisozi na yo ikavungagurika nya kuvungagurika;"},{"id":6,"translation":"Igacika intumo itumurwa n’umuyaga mu kirere;"},{"id":7,"translation":"Maze na mwe ibiremwa mukagaburwa mu migwi itatu;"},{"id":8,"translation":"Umugwi w’abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!"},{"id":9,"translation":"Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!"},{"id":10,"translation":"Hamwe rero n’umugwi w’abahurumbira gukora ivyiza kw’isi, bazotanga abandi mu vyubahiro vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":11,"translation":"Aba rero, ni bo bazoba batonye hambavu y’Imana Allah;"},{"id":12,"translation":"Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema."},{"id":13,"translation":"Hazokwinjira muri Bwo, umugwi munini w’abantu bo mu binjana vya mbere mu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abandi bantu bo kuva ku gihe ca Adamu;"},{"id":14,"translation":"Hamwe rero n’umugwi w’abantu bake mu bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo[1];","footnotes":"[1] Abo bakaba ari abarungikiwe Intumwa yasozereye izindi, Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo na bo, bafatwa ko ari umugwi w’abantu bake ugereranije n’igitigiri c’abandi bantu bose kuva kuri Adamu gushika ku muzo w’iyo Ntumwa."},{"id":15,"translation":"Bazoba bicaye ku bitanda bisharijwe n’inzahabu;"},{"id":16,"translation":"Bavyegamiyeko, bicaye barabana;"},{"id":17,"translation":"Bazoba bakikujwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana, iri mu runganwe rumwe, idasaza, itigera ipfa;"},{"id":18,"translation":"Ibahereza ibinyobwa mu bikombe n’amabirika, maze bahabwe n’akarahuri k’inzoga zenzwe mu mazi y’imbizi itemba mu Bwami bw’ijuru;"},{"id":19,"translation":"Ntibazosoma nya karahuri ngo bameneke umutwe, eka ntibazonaborerwa ngo umutwe uyayuke, batangure kudedemba bavuga ayamuhe;"},{"id":20,"translation":"Ibahereza n’ivyamwa bo bonyene bihitiyemwo;"},{"id":21,"translation":"Hamwe n’inyama z’inyoni bo bonyene bipfuza;"},{"id":22,"translation":"Bazoba bafiseyo n’abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);"},{"id":23,"translation":"Ku bwiza bwa nya bakenyezi, wogira ngo ni lulu[2] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu;","footnotes":"[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane."},{"id":24,"translation":"Iyo ni yo mpembo yabo ku vyo bari barakoze kw’isi."},{"id":25,"translation":"Muri nya Bwami, ntibazokwumva amajambo y’ikinyoma canke ay’imburakimazi;"},{"id":26,"translation":"Kiretse gusa ijambo riroranye ryeza umutima, n’iryo kuramukanya amahoro."},{"id":27,"translation":"Abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!"},{"id":28,"translation":"Bazoba bari ahantu hari igiti ca Sidri kitagira amahwa;"},{"id":29,"translation":"N’ibitoki vy’imihanyu igerekeranye;"},{"id":30,"translation":"Bari mu gatutu kamaho, katigera karenga;"},{"id":31,"translation":"Hari n’amazi atemba, atigera akama;"},{"id":32,"translation":"N’ivyamwa vy’ubwoko bwinshi vy’urutavanako;"},{"id":33,"translation":"Bitigera bihundura, ata n’ikibabuza kuvyamura borohewe;"},{"id":34,"translation":"Bazoba bicaye ku bisaswa bishashe neza ku bitanda."},{"id":35,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzoha abagore bo mu Bwami bw’ijuru indemo nshasha itandukanye kure cane n’iyo n’ukuntu bari bararemwe kw’isi;"},{"id":36,"translation":"Maze Tubagire amasugi;"},{"id":37,"translation":"Yikundwakaza ku bagabo bayo, akaba no mu runganwe rumwe;"},{"id":38,"translation":"Tukazobaremera bushasha abantu b’iburyo;"},{"id":39,"translation":"Ari na bo bagize umugwi w’abantu benshi b’imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":40,"translation":"Hamwe rero n’umugwi w’abantu benshi bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo."},{"id":41,"translation":"Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!"},{"id":42,"translation":"Bazoba bari mu bihano vy’umwokero w’umuriro wa Jahannamu bahezagurika, bahemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara;"},{"id":43,"translation":"Bari mu gatutu k’umwotsi wa Jahannamu;"},{"id":44,"translation":"Si ahantu harangwa n’akayaga wokwipfuza gushikira; si n’ahantu hubashwe wokwipfuza kuraba ibihabera;"},{"id":45,"translation":"Mu vy’ukuri n’imbere y’aho bakiri kw’isi, bararyoherwa n’ibizira mu bihendamaso vyayo, bakirengagiza ukuri bazaniwe n’Intumwa z’Imana Allah;"},{"id":46,"translation":"Baranatsimbatara kw’igarariza n’ibangikanyamana, batiyumvira kwigaya;"},{"id":47,"translation":"Bahora bavuga mu guhakana izurwa ry’ibiremwa, bati: “Mbega burya, nitwapfa tugacika ivu n’amagufa yaboze mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko!"},{"id":48,"translation":"Burya, tuzozuka twebwe hamwe n’abavyeyi bacu bapfuye kera bagacika ivu!”."},{"id":49,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubishure uti: “Mu vy’ukuri, abapfuye kera hamwe n’abazopfa mu nyuma muri Bene Adamu;"},{"id":50,"translation":"Ni ukuri bose bazozuka, maze begeranirizwe hamwe ku musi nyezina w’izuka”."},{"id":51,"translation":"Hanyuma rero ga bantu bahuvye inzira y’ukuri, bagahakana bivuye inyuma isezerano ry’Imana Allah;"},{"id":52,"translation":"Ni ukuri, muzorya ku giti Zaqquumu kiri mu nyenga y’umuriro;"},{"id":53,"translation":"Maze ku kwicwa n’inzara, muzokiryako ku kwuzuza inda;"},{"id":54,"translation":"Muheze mushozeko n’amazi yasebuye akaryimara;"},{"id":55,"translation":"Muzoyanywa kenshi atabavuna akanyota, nka kurya kw’ingamiya inywa ntihere inyota ku burwayi;"},{"id":56,"translation":"Ivyo bihano bateguriwe rero, ni yo nduhuro yabo ku musi w’iharurirwa n’impera."},{"id":57,"translation":"Bantu! Twebwe Allah, Twabaremye ata co mwari muri, Tubarema mu busa. Ubwo none, ntimwokwemera ko Dushoboye no kubazura inyuma yo gupfa!"},{"id":58,"translation":"Mbega ntimuraba ngo mubone intanga musesera mu gitereko c’abagore banyu;"},{"id":59,"translation":"Ni mwebwe muheza mukaziremamwo umuntu, canke ni Twebwe Turema!"},{"id":60,"translation":"Twebwe Allah, umwe wese muri mwebwe, Twaramugeneye isango ryiwe ryo gupfa, ntitwonanirwa rero;"},{"id":61,"translation":"Kubarema ukundi ku musi w’izuka, maze Tukabarema ukuntu mutazi;"},{"id":62,"translation":"Ni ukuri, mwaramenye ko Imana Allah Yabaremye iremwa rya mbere ata co mwari muri. Ubwo none, ntimwokwibuka ko Ishoboye no kubarema bushasha!"},{"id":63,"translation":"Mbega murabona ivyo muteragira mu kurima!"},{"id":64,"translation":"Ni mwebwe mubinagisha bikagondora biva mu kuzimu, canke ni Twebwe Tubinagisha bikamera!"},{"id":65,"translation":"Iyo Dushaka rero, Twari kugira ivyo mwateragiye bigacika ubusize, maze mugasigara mwipfumbereje, mukumirwa muravye ivyashikiye ibiterwa vyanyu;"},{"id":66,"translation":"Mukavuga muti: “Mu vy’ukuri, turaguye mu gahombo katagira izina;"},{"id":67,"translation":"Ahubwo mbere turabuze n’icotubeshaho!”."},{"id":68,"translation":"Mbega, ntimuraba ngo mubone amazi munywa kugira mubeho!"},{"id":69,"translation":"Ni mwebwe muyamanura mu bicu maze hakagwa imvura kw’isi, canke ni Twebwe Allah Dutuma imvura igwa ku mpuhwe zacu!"},{"id":70,"translation":"Iyo Dushaka rero, Twari kuyagira amazi y’icunyunyu ku buryo mudashobora kuyakoresha mu kunywa no mu kuvomera ibiterwa vyanyu. Ubwo none, ntimwoshimira Imana Allah ku nema yo kuronswa amazi y’akanovera!"},{"id":71,"translation":"Mbega ntimuraba ngo mubone umucanwa mucana!"},{"id":72,"translation":"Ni mwebwe mwaremye igiti cawo, canke ni Twebwe Allah Twakiremye!"},{"id":73,"translation":"Twebwe Allah, Twabagiriye umucanwa kugira ubabere inkebuzo ibibutsa umuriro wa Jahannamu, no kugira ubere kirumara abari ku rugendo."},{"id":74,"translation":"Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose."},{"id":75,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku bituro inyenyeri zirengerako mu kirere!"},{"id":76,"translation":"Iyo rero mu vy’ukuri, ni indahiro koko iyo mumenya uburemere bwayo buhambaye;"},{"id":77,"translation":"Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani yahishuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni Qor’ani yubashwe, irimwo ubumenyi n’ivyiza vyinshi;"},{"id":78,"translation":"Yanditswe mu Gitabu gicungerewe n’abamalayika ku Mana Allah, ahatabonwa n’ibiremwa;"},{"id":79,"translation":"Nta n’uwugikorako, kiretse abamalayika bubashwe bejejwe ivyaha. Eka mbere nta n’uwugikorako mu biremwa, kiretse abejejwe ibangikanyamana n'ibihumanya bituma umuntu yiyuhagira agatunganya n’isuku ryo gusenga."},{"id":80,"translation":"Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah Yaremye ibiremwa vyose."},{"id":81,"translation":"Mbega none ga babangikanyamana, ni iyi Qor’ani muhakana mwivuye inyuma!"},{"id":82,"translation":"Maze mukagira ishimwa ry’inema z’Imana Allah, rikaba uguhakana mwivuye inyuma!"},{"id":83,"translation":"Mbega burya igihe umuntu yoba ari ku mpfiro, umutima ugeze mu muhogo agira acikane;"},{"id":84,"translation":"Na mwe mukaba ari ho mwibereye muraba ukuntu asambagirika, mwoshobora gutuma adacikana! Muranguha."},{"id":85,"translation":"Kandi rero muri ico gihe, Twebwe Allah Tubicishije ku bamalayika, Tuba Turi hafi yiwe cane kurusha uko mumwegereye, ariko rero mwebwe ntimubabona."},{"id":86,"translation":"Mbega nimwaba mutazoharurirwa ngo muhemberwe ivyo mwakoze;"},{"id":87,"translation":"Murashobora gusubiza mu mubiri w’uwapfuye, inkomoko y’ubuzima “Roho” maze akaba muzima nimwaba muri imvugakuri! Muranguha."},{"id":88,"translation":"Uwapfuye rero, iyo ari uwo mu bantu bahurumbira gukora ivyiza, batonye ku Mana Allah;"},{"id":89,"translation":"Igihe co gucikana, aba ari mu mpuhwe z’Imana Allah hamwe n’umunezero nta ngere; akazohabwa n’Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema."},{"id":90,"translation":"Iyo uwupfuye, ari uwo mu bantu b’iburyo naho;"},{"id":91,"translation":"Mu gihe co gucikana abwirwa ati: “Urakagira iteka n’itekane kuba uri mu bantu b’iburyo”."},{"id":92,"translation":"Iyo uwupfuye, ari mu bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bahuvye inzira y’ukuri;"},{"id":93,"translation":"Azokwakirwa mu muriro wa Jahannamu, aheze azimanwe amazi yasebuye akaryimara;"},{"id":94,"translation":"Maze yinjizwe mu muriro ururumba, aheze awote."},{"id":95,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibi Tukwiganiye, ni kwo kuri koko kudahinyuzwa."},{"id":96,"translation":"Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose."}]},{"id":57,"verses":[{"id":1,"translation":"Ibiri mu majuru no mw’isi vyose biraninahaza Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;"},{"id":2,"translation":"Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Itanga ubuzima Ikanabwaka. Ni na Yo rero Mushoboravyose."},{"id":3,"translation":"Ni Yo rero Uwintango, Yabayeho hatarabaho n’ikintu na kimwe; Uwuhoraho-Wiherezo Izokwamaho, Rwigaragaza Iri hejuru ya vyose; Rwihisha Iri hafi y’ibiremwa ata na kimwe muri vyo kiyihisha, Itanabonwa n’amaso yavyo ng’aha kwisi. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa."},{"id":4,"translation":"Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo “Al’Arsh” mu buryo buberanye n'icubahiro cayo; Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi[1]; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; kandi Yamye Iri kumwe na mwe ku bumenyi bwayo aho muri hose. Ni na Yo rero Ibona neza ivyo mukora, Nyenukubona.","footnotes":"[1] Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima."},{"id":5,"translation":"Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Kandi ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":6,"translation":"Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjiza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire. Ni Yo rero Izi n’ibihishijwe mu mishaha."},{"id":7,"translation":"Bantu! Nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), muheze mutange no mu vyo Imana Allah Ibakurakuranyako mu matungo. Bantu! Burya abemeye vy’ukuri muri mwebwe, bakanatanga mu matungo yabo, bazoronka impembo nta ngere."},{"id":8,"translation":"Mbega mwafashwe n’igiki gituma mutemera Imana Imwe Rudende Allah ngo mwubahirize n’amabwirizwa yayo, kandi Intumwa yayo ibararikira kwemera Imana yanyu Rurema Allah! Kanatsinda Imana Allah, Yarafashe isezerano ryanyu ko muyemera nimwaba koko mwemera ko ari Yo Yabaremye."},{"id":9,"translation":"Ni Yo Imanurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) Aayah zitomoye za Qor’ani, kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubugarariji, Ibashire mu muco w’ukwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah kuri mwebwe, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":10,"translation":"Mbega mwafashwe n’igiki kibabuza gutanga mu nzira y’Imana Allah, kandi ari Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye! Abatanze muri mwebwe bakanarwanira Imana Allah imbere y’ihabuzwa rya Makka, ntibashobora kunganya indishi n’abakoze ivyo mu nyuma y’iryo habuzwa. Ababikoze imbere y’iryo habuzwa, ni bo bafise icubahiro gihambaye ku Mana Allah gisumba ic’ababikoze mu nyuma y’aho. Hamwe n’iryo tandukaniro mu cubahiro rero, umwe wese muri iyo migwi yompi, Imana Allah Yamusezeraniye Ubwami bw’ijuru. Burya Imana Allah, ivyo mukora vyose Irabizi, ni Yo Muhetuziwavyose, Izohembera umwumwe wese ku rugero rw’ivyo yakoze."},{"id":11,"translation":"Ni nde Yotanga mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, maze Imana Allah Ikamugwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonamuha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru!"},{"id":12,"translation":"Umusi wabonye abemeramana n’abemeramanakazi barongowe n’umuco uri imbere n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro kigororotse gitambitswe hejuru y’umuriro “Swiraatw[2]”, bamara kurengana, bakabwirwa bati: “Nimuhimbarwe kuri uno musi ku kwinjira mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, muzoyibamwo ibihe bidahera”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye;","footnotes":"[2] “Swiraatw”, ni ikiraro kizotambikwa hejuru y’umuriro, kugira abemeramana n’abemeramanakazi barengane bagana mu Bwami bw’ijuru. Uko giteye, ni nk’uko vyavuzwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iti: “Ni akayira kanyerera cane, kanyereza igiciyeko, kariko ubunyabuhoro, n’ivyuma bisongoye nk’icumu ry’ingobe, bikazibura nk’amahwa y’igiti citwa “sa’daani”, bicakira uwurenganye. Nya kayira gafise intimba nto cane nk’umushatsi canke ubugi bw’umupanga”. Yashikirijwe na Muslimu."},{"id":13,"translation":"Umusi indyarya n’indyaryakazi zabwiye abemeye mu gihe co kurengana kuri nya kiraro ziti: “Nimuturindire yemwe turabe ko twokwabura ku muco wanyu”, maze abamalayika bace bazibwira mw’itebura n’akantu bati: “Nimusubire inyuma maze muronderereyo umuco wanyu”. Ubwo nyene hace hashingwa uruzitiro rutandukanya abemeramana n’indyarya, rufise umuryango; ku ruhande rwawo rw’imbere ahari abemeramana, habe hari impuhwe nsa; ku rundi ruhande rwawo ahari indyarya na ho, habe hari ibihano bisa;"},{"id":14,"translation":"Nya ndyarya ziheze zihamagare abemeramana ziti: “Ntitwari kumwe kw’isi, dukora nk’ivyo mukora!”. Abemeramana bazishure bati: “Egome! Mwari kumwe na twe, ariko rero ni mwebwe nyene mwihoneje mu kwiyorobeka mu buryarya bwanyu, mutega Intumwa n’abemeramana imisi y’ivyago, mugira n’amakenga kw’izurwa ry’ibiremwa, muhendwa n’ivyipfuzo vyanyu, ko Imana Allah Itazi ibiri mu mishaha yanyu, maze mubandanya ukwo gushika gupfa, shetani na yo ibibagiza ukwemera Imana vy’ukuri;"},{"id":15,"translation":"Mwa ndyarya mwe! Kuri uno musi rero, nta cigombozo cemerwa ngo mwibohore mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere n’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, ni ukwo nyene. Ubushikiro bwanyu mwese ni mu muriro, ni wo mukwiye, ni na yo maherezo mabi cane”."},{"id":16,"translation":"Mbega, ntiharagera ku bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ko imitima yabo yoroshwa n’iyibutswa ry’Imana Allah no kwumviriza Qor’ani, gutyo ntibagire agatimatare nk’ak’abahawe Igitabu hambere yabo mu bayahudi n’abanaswara, bo haciye ikiringo kirekire hagati yabo n’Intumwa barungikiwe, bagaca bahindagura amajambo y’Imana Allah, maze imitima yabo na yo ku butumva bwabo, icika nk’ibuye ry’urutare! Kandi abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah, ihimiriza abemeramana ko bakwiye kwinengesera bakorosha umutima mu gihe co kwumviriza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, maze muri ico gihe bakiyubara gutebura no kugira agatimatare nk’abahawe Igitabu, ari na vyo bitera ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":17,"translation":"Bantu! Nimumenye rero ko Imana Allah Itotahaza isi hakoreshejwe amazi y’imvura, inyuma yo kugaduka igacika ubukumbagare, Ishoboye kworosha n’imitima no kuzura abapfuye. Ni ukuri Twebwe Allah, Twabatomoreye Aayah n’ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vyacu kugira mutegere, muheze mwikebuke."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri, abatanga imperezwa mu bagore n’abagabo, bakanatanga no mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, Imana Allah Ibagwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonabaha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru."},{"id":19,"translation":"Na barya bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo hanyuma ntibavangura hagati yazo, abo ni bo mvugakuri bemeye vy’ukuri mu mvugo n’ingiro; n’abapfiriye Imana Allah bazoronka ku Mana yabo Rurema Allah indishi nyinshi n’umuco uhambaye ku musi w’izuka. Nayo abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba."},{"id":20,"translation":"Bantu! Nimumenye ko ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi ari ubufyinyi, ugusamazwa n’ibihendamaso, ugushariza, ukwihayagiza hagati yanyu hamwe rero no kurusharushanya mu kwegeranya amatungo no kuvyara abana. Akarorero k’ivyo vyose, ni nka kurya kw’imvura iguye, maze itotahara ry’ibiterwa rigahimbara abarimyi; mu nyuma nya biterwa bigakaba, ukabona vyahindutse umuhondo, hanyuma bikuma bikavungagurika. Mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, abagarariji bazohabwa ibihano bikaze; abemeramana na bo, bagumirizwe akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, bishimirwe n’Imana Allah. Burya ubuzima bwo kw’isi, si ikindi kiretse ko ari ibihendamaso vyo kuryoherwa gato, ntibukabahende rero."},{"id":21,"translation":"Bantu! Nimuhurumbire ukwigaya ku Mana Allah, muheze mwigire kure y’ivyaha, bizotuma mugumirizwa n’Imana yanyu Rurema Allah akabanga ku vyaha vyanyu, maze ntimubihanirwe, Iheze Ibahembe Ubwami bw’ijuru, ubwaguke bwabwo, ni nka kurya kw’ubwaguke bw’ijuru n’isi. Ubwo Bwami bukaba bwateguriwe abemeye Imana Imwe Rudende Allah, bagakurikira n’Intumwa zayo. Iyo rero, ni impano y’Imana Allah Iha uwo Ishatse mu biremwa ku mpuhwe zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye."},{"id":22,"translation":"Bantu! Nta kiza kibashikira kw’isi mu vyo mwimbuye; canke kikabashikira mu ndwara, amapfa, ubukene no kubura abanyu, kiretse ko kiba canditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. Mu vy’ukuri, ivyo biroroshe cane ku Mana Allah."},{"id":23,"translation":"Ivyo rero mukwiye kubimenya, kugira ntimwicwe n’intuntu ku vyabacitse kw’isi, no kugira ivyo muronkejwe n’Imana Allah ntibibatere ubwishime n’amanyama. Burya Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama ku vyo bahawe, bakishima ku bandi;"},{"id":24,"translation":"Abagira amanyama bakishima ku bandi, ni barya baba ingumyi maze ntibatange mu nzira y’Imana Allah, bagaheza bakabwiriza n’abandi mu kubahimiriza kuba ingumyi. Uwugenjeje umugongo mu kutumvira Imana Allah, nta co azokwicira Imana Allah, kiretse ko inkurikizi mbi zizomugarukako we nyene. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":25,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa zacu zibangikanije ivyemezo bitomoye; Tuzimanurira n’Ibitabu birimwo amabwirizwa; Tumanura n’umunzani werekana ubutungane nya butungane, kugira abantu babeho bubahiriza ubutungane hagati yabo; Tumanura n’icuma rero gifise ubukomezi nta ngere, kikagira n’ibintu vyinshi ngirakamaro ku bantu. Ivyo vyose, kwari ukugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi, uwuharanira idini ryayo agatabara n’Intumwa zayo atarigera ayibona n’amaso. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":26,"translation":"Ni ukuri, Twaranarungitse Nuhu na Ibrahimu ku bantu babo, maze Tugira no mu ruvyaro rwabo Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Muri nya ruvyaro rwabo rero, harimwo umugororotsi, abenshi muri bo bakaba ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":27,"translation":"Mu nyuma y’irungikwa rya Nuhu na Ibrahimu, Twakurikije izindi Ntumwa zacu, maze Dukurikiza irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, maze Tumuha n’Injili, Turaheza Dushira mu mitima y’abamukurikiye ikigongwe n’impuhwe, bakaba barakundana koko. Mu nyuma, badukanye ukwihebera Imana Allah mu buryo bw’indenzarugero, eka mbere ntitwigeze Tubibategeka, bavyadukanye mu ntumbero ngo yo gushimisha Imana Allah, ariko ntibavyubahirije ukuri kwo kuvyubahiriza, Turaheza rero Duha abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo muri bo, indishi yabo hisunzwe ukwemera kwabo, abenshi muri bo ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":28,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimushishikare kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah no kwemera Intumwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibahe impuhwe zayo zigwijwe kabiri, Yongere Ibahe n'umuco mugenderako mu bugurorotsi bwanyu, Ibagumirize n’akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":29,"translation":"Bemeramana! Imana Allah Yabahaye ivyo vyose, kugira abahawe Igitabu batemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bamenye, ko ata co bashoboye kwiha canke kubuza ko gishikira uwundi mu mpano z’Imana Allah, n’uko mu vy’ukuri impano zose ziri mu minwe y’Imana Allah, Izihereza uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye."}]},{"id":58,"verses":[{"id":1,"translation":"Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze kwumva ijambo ry’umupfasoni Khaula umukobwa wa Tha’laba, akubazagiza ku ngingo yo kuziririzwa n’umugabo wiwe Awsi mwene Swaamit, amurega ku Mana Allah. Imana Allah na Yo, Irumva ivyo muganira. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Nyenukubona."},{"id":2,"translation":"Abaziririza muri mwebwe abakenyezi babo mu kuvuga bati: “Wewe kuri jewe, uri ikizira nka mawe yamvyaye”, abakenyezi babo si ba nyina na gato, ba nyina babo ni ababibarutse. Mu vy’ukuri, bavuga ijambo ribi, ni ikinyoma ceruye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere."},{"id":3,"translation":"Abaziririza abakenyezi babo nka ba nyina, hanyuma bakisubirako bakagumana na bo, icuhagizo (igihano) c’ukubazirura, ni uguha ubwigenge umugurano imbere yuko basubira kurangurana amabanga y’abubatse. Iryo, ni ryo tegeko muhawe. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora."},{"id":4,"translation":"Uwutazoronka uyo mugurano, aripfunga amezi abiri akurikirana imbere yuko barangurana amabanga y’abubatse. Uwutabishoboye na we, arafungurira abakene mirongo itandatu. Iryo tegeko ryorohejwe, kugira ngo mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo. Izo rero, ni imbibe ntarengwa z’amabwirizwa y'ibitegetswe n’Imana Allah, ntimukayarengeko. Abagarariza mu kuyahakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka."},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yazuye abantu bose Ikabakoraniriza hamwe, hanyuma Ikabamenyesha ivyo bakoze kw’isi. Imana Allah, Yarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” hamwe rero no mu bitabu vyabo, mu gihe bo bamaze kuvyibagira. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ku kintu ico ari co cose."},{"id":7,"translation":"Mbega, ntiwamenye yuko Imana Allah Izi neza ibiri mw’ijuru n'ibiri mw’isi! Nta bongorerana ari batatu, kiretse ko Imana Allah Iba ari iya kane. Nta na batanu bongorerana, kiretse ko Iba ari iya gatandatu. Eka nta n’abongorerana bari musi y’ico gitigiri canke kirenga, kiretse ko Iba Iri kumwe na bo aho bari hose. Hanyuma, Izobamenyesha ivyo bakoze vyose ku musi w’izuka, kugira ngo bemange, maze Ibahe indishi bakwiranye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose."},{"id":8,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye ababujijwe kwongorerana, mu nyuma basubira gukora ivyo babujijwe, bakongorerana mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana! Iyo baje, bakuramutsa (ngo muragahona) indamutso utaramutswa n’Imana Allah, bavuga mu mitima yabo bati: “Imana Allah, niduhane rero ku vyo tuvuga nimba Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Barakwiye umuriro wa Jahannamu, bazowinjiramwo. Ubwo, ni bwo bushikiro bubi."},{"id":9,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Iyo mwongoreranye, ntimukongorerane mu bibata mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Murongorerana mu vyotuma mwubaha mukubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; kuri Yo, ni ho muzokwegeranirizwa."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri kwongorerana, ni inyoshambi za shetani, kugira ngo abemeramana bicwe n’intuntu. Ariko nta co zizobagira, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere."},{"id":11,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwasabwa kwagurira abandi mu vyicaro, muraca mubagurira; na mwe Imana Allah, Izobagurira kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nimwasabwa naho guhaguruka mubisa abaje, murahaguruka; Imana Allah Izoduza icubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana muri mwebwe n’abahawe ubumenyi. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera."},{"id":12,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Igihe mushatse kuganira n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mutegetswe gutanga imperezwa imbere yuko muganira; ivyo, harimwo ineza no kwiyeza kuri mwebwe. Nimutaronka ico mutanga naho, nta co bitwaye; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Igumiriza akabanga abigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":13,"translation":"Mbega none, mwagize impungenge zo gutinya ko mwokena, mu gihe mwotanga imperezwa imbere yuko muganira n'Intumwa y'Imana! Mu gihe mutobikora kuko bibagoye, Imana Allah na Yo Igaheza Ikabababarira, maze Ikaborohereza mu guhagarika iryo bwirizwa, muraheza mutsimbataze amasengesho-bwirizwa ku mwanya, munatange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye indyarya zicuditse n’abayahudi bashavuriwe n’Imana Allah! Izo ndyarya ntiziharurwa muri mwebwe, eka ntizinaharurwa no mu bayahudi, zirarahira zikarengwa, zibesha ko ziri abislamu, n'uko wewe uri Intumwa y'Imana, kandi zizi neza ko zibesha."},{"id":15,"translation":"Imana Allah, Yaraziteguriye ibihano ruhasha. Mu vy’ukuri indyarya, zamye zikora bibi cane."},{"id":16,"translation":"Zagize indahiro zazo z’ikinyoma (ko zicisha bugufi, zemera) kuba inkinzo izikingira guhanwa, maze ziburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Kubera ivyo rero, zirategekanirijwe ibihano bisuzuguza."},{"id":17,"translation":"Amatungo yazo hamwe n’ibibondo vyazo, ntibizozibuza guhanwa n’Imana Allah. Abo barangwa n’inyifato y’uburyarya[1], ni bo bantu bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera[2].","footnotes":"[1] Inyifato yo kurwanya idini ry’Imana Allah mu mvugo canke mu ngiro.\n[2] Iyo ngingo, yega uwo wese yita ku rutare kugira aburagize abantu kwinjira mu bwislamu."},{"id":18,"translation":"Ntumwa y'Imana! Zibutse umusi Imana Allah Yazuye indyarya zose, maze zikarahira zikarengwa (zibesha) ko zemera Imana Allah; nk’uko zahora zirahira zibesha kw’isi, zibaza ko indahiro hari ico izimarira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri burya indyarya, ni zo zibesha nya kubesha."},{"id":19,"translation":"Shetani yarazigaruriye izibagiza ukwibuka n'ukwumvira Imana Allah. Indyarya, ni wo mugwi w’ingabo n’abumvira shetani. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri umugwi w’ingabo n’abumvira shetani, ni wo uri mu ruhombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":20,"translation":"Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah) mu kurenga ku mabwirizwa, abo bari mu basuzuguritse cane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":21,"translation":"Imana Allah, Yaramaze guca iteka, Iti: “Ni ukuri, Nzotsinda Jewe Allah hamwe n’Intumwa zanje”. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa."},{"id":22,"translation":"Ntumwa y'Imana! Nta ho vyakabaye ko wosanga abantu bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bacuditse n’abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, n’aho boba ari abavyeyi babo, canke ibibondo vyabo, canke benewabo, canke incuti zabo za hafi mu muryango. Abo, ni bo rero Imana Allah Yamaze gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, Ibatera ingoga, Ibaha n’umuco wayo, kandi Izobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Imana Allah Yarabishimiye kuko bayigamburukiye, na bo barayishimira ku mpera ikwiye Yabahaye. Abo, ni wo mugwi rero w’abatoni b'Imana Allah, bayumvira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy'ukuri, umugwi w’abatoni b'Imana Allah bayumvira, ni wo waronse intsinzi yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":59,"verses":[{"id":1,"translation":"Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Na Yo, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":2,"translation":"Ni Yo Yasohoye mu zabo abayigararije mu bahawe Igitabu, kw’iyimurwa rya mbere[1]; ntimwaziga ko bokwimutse, na bo nyene biyumvira ko inzitiro-ntamenwa zabo zizobakingira ibihano vy’Imana Allah, maze igihano c’Imana Allah co kubimura, kibashikira mu buryo batari biteze. Itera ubwoba mu mitima yabo, bisamburirako amazu yabo n’iminwe yabo, hamwe n’iminwe y’abemeramana. Emwe bantu mufise ubwenge, mwihweza ibintu n’ibindi mukabona ukuri! Enda nyabuna rero, nimuhakure icigwa, maze mwikebuke!","footnotes":"[1] Abayahudi bo mu muryango wa Bene Al-Nadwiir, ni bo bayahudi ba mbere bakuwe mu zabo mu Kigobe c'Abarabu, baca bimukira muri Shaamu."},{"id":3,"translation":"Iyo Imana Allah Itandika ko bimurwa, Yari kubahana bakiri ng’aha kw’isi bakicwa bakanagirwa n'imbohe. Nayo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, barategekanirijwe ibihano vy’umuriro;"},{"id":4,"translation":"Ivyo rero, vyabashikiye kuko barwanije Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoza mu guca kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah n'Intumwa yayo, namenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Izomuhana Ikamuhasha."},{"id":5,"translation":"Bemeramana! Ibiti vy’itende mwatemye canke mwaretse bihagaze ntimwabitema, vyose vyari kw’itegeko ry’Imana Allah, no kugira rero Itetereze ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":6,"translation":"N’ivyo Imana Allah Yabanyaze Ikabiha Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta vyo mwaruhiye mu kubirwanira kw’ifarasi canke ku ngamiya; ariko rero Imana Allah, Ituma Intumwa zayo gutera ubwoba no gutsinda ata ndwano ku wo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Yo Mushoboravyose."},{"id":7,"translation":"Ivyo Imana Allah Yanyagiye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bivuye ku baba mu ducimbiri ata ndwano irinze kuba, bitangwa mu bikorwa vy'iterambere rusangi, bigahabwako n’incuti za hafi mu muryango w'Intumwa[2], impfuvyi, abakene n’ingenzi yakehaniwe ku rugendo, kugira ngo ivyanyazwe ntibigume mu minwe y’abakire gusa muri mwebwe. Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.","footnotes":"[2] Incuti za hafi mu muryango w'Intumwa, ni abakomoka kuri Bene Haashimu na Bene Al-Muttwalib."},{"id":8,"translation":"Ni nk’uko nyene bahabwa muri nya minyago, abakene b'abimukira baje bava i Makka “Muhaajiriina”, bakuwe mu ngo zabo no mu matungo yabo ku karenganyo, kubera gusa ko barondera impano no gushimwa n’Imana Allah, hamwe rero no kurwanira idini ryayo n’Intumwa yayo. Abo, ni bo rero mvugakuri zibushitse."},{"id":9,"translation":"N’abasangwa b’i Madina “Answaari” bahisemwo kwemera imbere yuko abimukira bashika bava i Makka, barakunda abimukira baje babagana, bakanasabikanya na bo ivyo bafise, ntibanabagirira ishari n’akangonongono mu mitima yabo ku vyo bahawe mu minyago, baranabibahebera mu kubigura n’aho na bo nyene boba bakenye. Uwuzokingirwa kuba ingumyi rero, ari mu bantu baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":10,"translation":"N’abemeramana baje mu nyuma y’abasangwa n’abimukira, bavuga basaba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Tugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, twebwe hamwe na benewacu badutanze kwemera. Kandi, ntuze Utume tugirira inzigo n’akarigangamuhogo abadutanze kwemera. Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri Wewe, Uri Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bawe[3]”.","footnotes":"[3] Iyi Aayah, irigisha ko umwislamu ategerezwa gukunda abamutanze kwemera mu ngendanyi z'Intumwa, akama aziyaga neza, akanazisabira ku Mana Allah; no mu gihe hagize iyivuzwe muri zo, akayisabira ati: \"RADWIYA LLAAHU AN-HU\" (Imana Allah Imwishimire)."},{"id":11,"translation":"Mbega, ntiwabonye abagize uburyarya, babwira benewabo bagararije mu bahawe Igitabu[4], bati: “Ni ukuri, nimwimurwa mu zanyu mukirukanwa i Madina, tuzokwimukana na mwe koko, kandi nta n’umwe tuzokwumvira ngo duheze tubatetereze mu kutimukana na mwe. Nimwaterwa naho nyene, tuzobarwanako tubatabare. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ko mu vy’ukuri indyarya zibabesha.","footnotes":"[4] Abayahudi bo mu muryango wa Bene Al-Nadwiir."},{"id":12,"translation":"Ni ukuri! Nibaramuka bimuwe bakirukanwa i Madina, ntibazokwimukana na bo; nibanaterwa, naho nyene ntibazobatabara namba; nibabatabara naho, bazogenza umugongo, maze batungwe n'ayo bameze, bahunge; hanyuma ntibazotabarwa n’Imana Allah ngo batsinde."},{"id":13,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri mwebwe, muratinyitse cane mu mitima y’indyarya n’abayahudi gusumba uko batinya Imana Allah, bitewe n’uko bo ari abantu badatahura icubahiro c’Imana Allah."},{"id":14,"translation":"Ku kubera ukuntu abayahudi babatinya, ntibazobarwaniriza hamwe, kiretse mu gihe bazoba bari mu ducimbiri dukikujwe n’inzitiro ntamenwa, canke mu gihe bari inyuma y’insika. Urwanko ruri hagati y’abayahudi n’indyarya, rurenzeko. Wokwibaza ko bacuditse, ariko imitima yabo iri kubiri. Ivyo rero bigaterwa n’uko mu vy’ukuri, ari abantu badatahura amabwirizwa y’Imana Allah, ntibananyurwe n’ivyemezo vyayo."},{"id":15,"translation":"Akarorero k’abayahudi ku vyabashikiye, ni nk’ab’aho hambere yabo mu bagarariji b’i Makka ku vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, no mu bayahudi bo mu muryango wa Bene Qaynuqaa’a, barahonjeje amaherezo y’ubugarariji bwabo, barahanwa bakiri kw'isi. Barategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":16,"translation":"Akarorero k’indyarya mu guhema abayahudi, ni nka shetani iyo yoheje umuntu ku gahemo n’akantu, ivuga iti: “Garariza Iyakuremye!”. Yamara kugarariza, ikamubwira imwihakana iti: “Ni ukuri jewe, ndavavanuye na we pe! Jewe ndatinya Imana Allah, Mubungabunzi w’ibiremwa vyose”."},{"id":17,"translation":"Gutyo rero, amaherezo y’abo bompi; shetani n’uwayumviye akagarariza Imana Allah, ni mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera. Ico gihano, ni yo ndishi y’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":18,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Enda rero nyabuna nimwiyubare ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze umwe wese muri mwebwe, arabe ico yakoze kizomufasha mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Nimutinye rero Imana Allah mu vyo mukora vyose. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera."},{"id":19,"translation":"Kandi, ntimukabe nk’abibagiye Imana Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, maze Imana Allah na Yo, Ibibagiza gukora ibizobafasha bikabakingira ibihano vyo ku musi w’izuka. Abo rero, ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":20,"translation":"Abantu bari mu bihano vyo mu muriro udahera, si nk’abari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru. Abari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru, ni bo benintsinzi."},{"id":21,"translation":"Iyo Twebwe Allah, Tuza kumanurira iyi Qor’ani hejuru y’umusozi, ugaheza ugatahura amabwirizwa arimwo, wari kubona nya musozi uca bugufi uyoka ku gutinya Imana Allah. Ubwo burorero Twebwe Allah Dutanga muri Qor’ani, Tubuha abantu, kugira ngo biyumvire baheze batahure icubahiro n’ubushobozi vy’Imana Allah."},{"id":22,"translation":"Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, ni Yo Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;"},{"id":23,"translation":"Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Mwami, Nyenubutagatifu, Semahoro, Nyenugutekanisha[5], Uwiganje[6], Nyenintsinzi-Mutaneshwa[7], Ntahangarwa, Nyenukwishima. Ukuninahazwa, ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bayibangikanya;","footnotes":"[5] Imana Allah Itekanisha Intumwa n’Abavugishwamana, Ikanabatsimbataza mu kubahishurira amabwirizwa n’ibitangaro.\n[6] Mu kurereka ibiremwa hamwe n’ivyo bikora.\n[7] Nta kinanira Imana Allah, haba kw’isi canke mu majuru."},{"id":24,"translation":"Ni Yo Mana Allah, Rurema, Nyenugutunganya ibiremwa nk’uko Yabitegekanije, Rutunganyandemo, Yahaye ishusho ibiremwa vyose. Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga. Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, birayininahaza; ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."}]},{"id":60,"verses":[{"id":1,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abansi banje n’abansi banyu abagenzi somambike, mu kubashira inkuru z’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’amabanga y’abemeramana, murondera kwikundwakaza, kandi baramaze kugarariza ukuri kwabashikiriye ku bijanye n’ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe na Qor’ani. Basohoye Intumwa y’Imana na mwe nyene mu gisagara ca Makka, babahora gusa ko mwemera Imana yanyu Rurema Allah. Ntimukagire rero abansi banje n’abansi banyu abagenzi somambike nimwaba mwasohotse izanyu ku mvo zo guharanira idini ryanje, murondera gushimwa nanje. Mubashikiriza inkuru mu mpisho murondera kwikundwakaza, kandi nanje Allah Nzi neza ivyo munyegeza n’ivyo mugaragaza! Uwo wese rero azobikora muri mwebwe, azoba yahuvye inzira igororotse."},{"id":2,"translation":"Bishitse mukagwa mu minwe yabo, bobereka urwanko babafitiye mu mitima yabo, bakabahereza iminwe yabo mu kubica no kubagira imbohe, bakanabacokora, hanyuma bakabipfuriza ko mwogarariza mugata idini ryanyu."},{"id":3,"translation":"Nta co abavukanyi banyu bazobamarira, eka n’abana banyu batuma mugira abagararije abagenzi somambike, nta co bazobamarira. Ku musi w’izuka, Imana Allah Izobatandukanya, Iheze Yinjize aberanda mu Bwami bw’ijuru, inkozi z’ikibi na zo Izinjize mu muriro. Burya rero Imana Allah, ivyo mukora n'ivyo muvuga vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona."},{"id":4,"translation":"Bemeramana! Mu vy’ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu mvugo no mu ngiro, ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, igihe babwira abantu babo batemera bati: “Mu vy’ukuri twebwe, turitandukanije na mwe hamwe n’ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah. Kuva ubu rero, twagararije ivyo mwemera mu bigirwamana, hamaze no kwibonekeza urwanko n’inzigo hagati yacu na mwe, kugeza aho muzokwemera Imana Imwe Rudende Allah, mukavavanura no gusenga ibigirwamana”. Ariko rero, ntimwokwigana ijambo ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye se yagarariza iti: “Ni ukuri, nzogusabira imbabazi ku Mana Allah, mugabo jewe nta na kimwe nzokumarira ku Mana Allah[1]”. Ibrahimu rero yahavuye atakambira Imana Allah, ati: \"Mana yacu Rurema Allah! Twamaze kukwishimikiza mu kukwizera muri vyose, kandi twagarutse iwawe kwigaya, burya iwawe gusa ni yo maherezo yacu;","footnotes":"[1] Aho, hari imbere yuko Ibrahimu amenya ko se yamaze kugarariza akaba umwansi w'Imana Allah; mu nyuma y'aho rero, yahavuye avavanura na se, aritandukanya na we."},{"id":5,"translation":"Mana yacu Rurema Allah! Ntutugerageze ngo Uduteze abagarariji mu vyo tutokwihanganira; turagusavye Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu, ntubiduhanire. Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri Wewe, Uri Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora\"."},{"id":6,"translation":"Bemeramana! Ni ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe no ku bemeramana bari kumwe na yo, canecane ku wuzoba yizeye indishi ku Mana Allah, n’intsinzi ku musi w’imperuka. Nayo uwuzogenza umugongo akirengagiza kwisunga imigenzo y'Abavugishwamana, ni ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":7,"translation":"Kumbure Imana Allah Izobakundanisha, mwebwe n’abo mwankanye mu bagararije mu bavandimwe banyu, biciye mu kwemera bakaba abislamu. Burya Imana Allah, ni Mushoboravyose; Imana Allah, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."},{"id":8,"translation":"Bemeramana! Imana Allah ntibabuza na gato kugirira neza no gutunganiriza abatabarwanya ku mvo z’ukwemera, bakaba batanabasohoye mu zanyu. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abatunganiriza abandi ata nkunzi."},{"id":9,"translation":"Ahubwo Imana Allah, Ibabuza gusa kugira abagenzi somambike ababarwanije ku mvo z’ukwemera, bakabasohora mu zanyu, bakanafasha mu kubomora. Kubera ivyo rero, abazobagira abagenzi somambike, abo ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":10,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Abemeramanakazi nibaza babagana bahungiye i Madina, murabanza mubagerageze, kugira mumenye neza ko bemera vy’ukuri. Imana Allah, ni Yo Izi ukwemera kwabo kurusha. Nimwamenya neza na neza rero ko ari abemeramanakazi, ntimuze muhirahire ngo mubasubize ku bagarariji bubakanye, kuko bo ntibarekuriwe kwubakana n’abagarariji, kandi n’abo bagarariji nyene ntibarekuriwe kwabira abemeramanakazi. Muraheza rero musubize inkwano abahoze ari abagabo babo. Nta kibi kandi ko mwokwabira abo bakenyezi mu gihe mwobaha inkwano zabo. Ntimwihambirire ku masezerano yo kwabirana n’abakenyezi bagararije bagata idini, muraheza rero musabe inkwano zanyu, na bo nyene baraheza basabe inkwano z’abakenyezi babo binjiye mu bwislamu. Ukwo gusubizwa inkwano, ni ingingo y’Imana Allah Itegetse ko yubahirizwa hagati yanyu. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":11,"translation":"Nihagira uwubacika mu bakenyezi banyu bemera agata idini, agashoka ahungira mu bagarariji, ntimuheze ngo musubizwe inkwano, maze mukaronka iminyago mumaze gutsinda ku rugamba, muraca muronsa abagabo babo ibingana n’inkwano batanze, muheze mutinye Imana Allah, muyigamburukire, Yo mwebwe mwemera."},{"id":12,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Abemeramanakazi, nibaza bagutumbera bashaka kwiyemeza imbere yawe ko batazobangikanya Imana Allah, batazokwiba, batazorenga ibigo, batazokwica abana babo ku gutinya ubukene canke guteterwa[2], batazovuga ikinyoma mu kwomekera abana ku bagabo babo mu gihe atari ba se babavyara, batazoca kubiri n’ivyo ubabwirije, uraheza rero ubemerere isezerano ryabo, maze ubasabire imbabazi ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.","footnotes":"[2] Harimwo no gukorora imbanyi."},{"id":13,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimuzogire abantu bashavuriwe n’Imana Allah, ba somambike, na kare baramaze kwihebura ko ata neza baziga mu buzima bw’inyuma yo gupfa; nk’uko abagarariji bihebuye ko abantu babo bari mu mva batazozuka, kuko batemera izuka ry’ibiremwa."}]},{"id":61,"verses":[{"id":1,"translation":"Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":2,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuki musezerana canke muvuga ivyo mudakora ngo muvyubahirize[1]?","footnotes":"[1] Iyi Aayah, ni inkebuzo ku muntu uwo ari we wese akora ibihushanye n’ivyo avuga."},{"id":3,"translation":"Birashavuza cane Imana Allah kuvuga ivyo mudakora."},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abaharanira idini ryayo bafatanye mu nda[2], bari ku murongo umwe bameze nka kurya kw’inyubakwa imwe ifatanye[3].","footnotes":"[2] Barangwa n’ubumwe ku buryo umwansi adashobora kubacanishamwo.\n[3] Iyi Aayah, yerekana ivyiza vyinshi vyagenewe abaharanira idini ry'Imana Allah bafatanye mu nda; abo, akaba ari bo bakundwa n’Imana Allah."},{"id":5,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo iti: “Bantu banje narungitsweko! Ni kuki mumbabaza (mu kugarariza), kandi muzi neza ko jewe ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe!”. Igihe rero abantu ba Musa bamariye guhengama (bagata inzira y’ukuri), Imana Allah, Yaciye Ihengamika imitima yabo kurusha. Burya Imana Allah, ntirongora ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga iti: “Emwe Bene Israyeli! Mu vy'ukuri Jewe, ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe, naje gushimangira ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yanje, Tawurati na Zaburi, no gushikiriza inkuru nziza y’umuzo w’Intumwa y’Imana izoza inyuma yanje, yitwa Ahmadi (Muhamadi)”. Ariko rero, iyo Ntumwa Muhamadi imaze kuza ifise n’ivyemezo biboneka, bavuze bati: “Ubu, ni uburozi bugaragara”."},{"id":7,"translation":"Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah mu kuyibangikanya n’ibiremwa, kandi ararikirwa kwicisha bugufi akaba umwislamu! Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kuyibangikanya."},{"id":8,"translation":"Bashaka mu guhakana Intumwa, kuzimya n’iminwa yabo umuco w’Imana Allah wa Qor’ani. Burya Imana Allah, ni Yo Izokwiragiza hose umuco wayo n’aho vyoshavuza abagarariji."},{"id":9,"translation":"Ni Yo Yarungitse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije n'uburongozi bwa Qor’ani; Iyirungikana n’idini ry’ukuri, kugira riganze ayandi madini n’aho vyoshavuza ababangikanyamana."},{"id":10,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mbega ndabereke urudandazwa rwobakiza ibihano bibabaza?"},{"id":11,"translation":"Nimubandanye mwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, muheze muharanire idini ry'Imana Allah, mu gutanga amatungo yanyu no mu kwitanga mwebwe nyene ubwanyu. Ivyo rero, ni vyo vyiza kurusha kuri mwebwe, nimwaba muzi rero gutandukanya ikibi n’iciza, nimuvyubahirize;"},{"id":12,"translation":"Imana Allah, Izobagumiriza akabanga ku vyaha vyanyu, Ivyirengagize ntibibahanire, Iheze Ibinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, harimwo n’imihana iteye igomwe mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye."},{"id":13,"translation":"Yarabageneye n’iyindi mpera mukunda muri kw'isi, ni intsinzi ivuye ku Mana Allah no guhabuza vuba bwango igisagara ca Makka. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana, inkuru ihimbaye Yo gushika ku ntsinzi kw’isi, no kuja mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":14,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye kuba abatabazi b’idini ry’Imana Allah; nka kurya abigishwa b'Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) babigenjeje, igihe yavuga ibabwira iti: “Ni bande muri mwebwe bontabara mu nzira y’Imana Allah?”, maze na bo bayishura bati: “Nyabuna rero, ni twebwe dutabara mu nzira y’Imana Allah”. Umugwi umwe rero muri Bene Israyeli uraheza uremera, uwundi mugwi na wo urahakana, maze Twebwe Allah Dushoka Dushigikira abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurwanya abansi babo, gutyo baraheza barabatsinda kw’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."}]},{"id":62,"verses":[{"id":1,"translation":"Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, Umwami, Nyenubutagatifu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":2,"translation":"Ni Yo Yarungitse Intumwa ivuye mu Barabu batazi gusoma no kwandika, Iraheza Iyirungika ku bantu bose, ibasomera Qor’ani inabeza ingeso mbi n’ukwemera gushingiye ku bintazi, ibigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo y’intumwa (Sunnah), mu gihe bari mu muzimagiza w'ubuhuvyi ugaragara imbere y’irungikwa ry’iyo Ntumwa;"},{"id":3,"translation":"Izokweza n’abandi muri bo bataraza (bazokurikira inyuma y’ingendanyi). Imana Allah, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":4,"translation":"Iryo rungikwa ry’Intumwa rero, ni impano y’Imana Allah, Iyiha uwo Yishakiye mu biremwa. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye."},{"id":5,"translation":"Akarorero k’abayahudi bategetswe kugendera ibiri mu Gitabu ca Tawurati hanyuma ntibabigendera nk’uko bategetswe; ni nka kurya kw’indogobwe yikoreye ibitabu itazi ibirimwo. Ni akarorero kabi cane k’abantu bahakanye bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah, ntizagira ico zibamariye. Burya Imana Allah na Yo, ntirongora mu nzira yayo, abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bayahudi! Nimwaba mwigamba ko muri inkundwakazi zishikira ku Mana Allah, enda rero, nimwipfuze urupfu nimwaba muri imvugakuri”."},{"id":7,"translation":"Ntibazokwigera barwipfuza na rimwe kubera ugukunda ivy’isi no gutinya guhanirwa ibibi bakora. Imana Allah na Yo, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":8,"translation":"Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri urupfu muhunga, nta nkeka ruzobashikira nihagera gupfa, hanyuma musubizwe kuri Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka ku musi w’izuka, maze Abamenyeshe ivyo mwari mwarakoze vyose kw'isi, Anabibahembere”."},{"id":9,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nihararikwa kuja gusenga ku musi w’ikoraniro w'ijuma, murashoka munyaragasa kuja gusenga no kwumviriza inyigisho, muheze mureke kugura no kugurisha ibidandazwa hamwe n’ibindi vyose bisamaza. Ivyo mutegetswe, ni vyiza kuri mwebwe kurusha. Nimwaba muzi ibibafitiye akamaro rero, nimuvyubahirize[1].","footnotes":"[1] Iyi Aayah, irerekana ko gusenga isengesho ryo ku musi w’ikoraniro w'ijuma hamwe no kwumviriza inyigisho yaryo, ari ngombwa ku mwislamu."},{"id":10,"translation":"Nimwamara kwumviriza inyigisho, mugaheza no gusenga, murakwiragira kw’isi, murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, maze muninahaze kenshi Imana Allah aho muzoba muri hose, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Iyo bamwe mu bislamu babonye urudandazwa, canke ibintu bisamaza ata co bimaze mu bihendamaso vy'isi, baca babihurumbira bakagusiga uhagaze wenyene. Babwire uti: “Burya indishi n’inema biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza kuri mwebwe gusumba urudandazwa n’ibisamaza. Burya Imana Allah, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”."}]},{"id":63,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zije zikugana mu cicaro, ziza zivuga n'akarimi gasosa ziti: “Ni ukuri, turemanga ko wewe uri Intumwa y’Imana”. Burya Imana Allah na Yo, Irazi neza mu vy’ukuri, ko wewe uri Intumwa yayo, kandi Imana Allah Iremanga ko mu vy’ukuri, indyarya zibesha kuko ziyorobeka."},{"id":2,"translation":"Zagize indahiro zazo, kuba inkinzo izikingira kugirirwa umwikomo no guhanwa, maze zitangura kuburagiza abantu kwinjira mw'idini ry’Imana Allah no kuriharanira. Mu vy’ukuri ivyo zikora, ni bibi cane;"},{"id":3,"translation":"Ivyo zibikora, kuko zemeye mu majambo gusa hanyuma zirahakana mu mitima yazo, gutyo haterwa ikimangu c’ubuhakanyi mu mishaha yazo. Kubera ivyo rero, ntizitegera ngo zikore ibizifitiye akamaro."},{"id":4,"translation":"Iyo uzibonye, imibiri yazo iraguhimbara. Iyo naho zigize ngo ziravuze, wumva amajambo yazo atomoye, kandi imishaha yazo itagira ukwemera namba, zitanatahura na kimwe; nk’aho zoba ari imbaho zitagira ubuzima zegetswe ku ruhome. Ziyumvira ko ikivuzwe cose, ari zo zitunzwe urutoke kubera ubwoba. Ntumwa y’Imana! Kanatsinda ni zo bansi bawe, uraziyubara rero. Zirakavumwa n’Imana Allah. Ni gute zigarariza ukuri zikaguma mu buryarya n’ubuhuvyi ha kwemera vy'ukuri!"},{"id":5,"translation":"Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zibwiwe ziti: “Enda nyabuna rero, nimuze ku Ntumwa y’Imana musabe ikigongwe, maze na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah”, zica zirabira hirya zizungagiza umutwe n’ubwishime n’akantu, ukazibona zikwirengagiza zinasuzugura ko wozisabira;"},{"id":6,"translation":"Ni co kimwe rero kuri zo, uzisabira imbabazi canke utazizisabira, nta mbabazi Imana Allah Izozigirira bitewe no gutsimbatara kwazo mu buhakanyi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kwemera abantu b’ibigaba barenga ku mabwirizwa yayo."},{"id":7,"translation":"Izo ndyarya, ni zo zibwira ababa i Madina n'ishari n'akantu ziti: “Ntihagire ico muha abakene b’abimukira mu ngendanyi z’Intumwa y’Imana Muhamadi kugeza aho bicwa n’inzara bagata bakomoka”. Burya ibigega vy'ibibeshaho ibiremwa: ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah; Iha uwo Ishatse, Ikima uwo Ishatse, ariko indyarya ntizizi ko Imana Allah ari Yo Muhanyiwavyose."},{"id":8,"translation":"Zivuga zigamba n'akantu ziti: “Nitwaramuka dusubiye i Madina (tuvuye ku rugamba), nta kibuza ko abubahitse bazokwomora abagayitse”. Nangwa icubahiro c’iteka, ni ic’Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, mugabo indyarya ntizitahura ivyo."},{"id":9,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugasamazwe n’amatungo yanyu canke abana banyu, ngo mureke kugamburukira Imana Allah muyininahaza muyitazira. Abazosamazwa n’ivyo rero, abo bazoba bari mu bahomvye ubuzima bwabo."},{"id":10,"translation":"Bemeramana! Enda rero nyabuna nimutange mu vyo Imana Allah Yabahaye, imbere yuko umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, maze akavuga yicuza ari ku mpfiro ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ubwo ntiwondindiriza gato ngapfuma ntanga imperezwa, ngaheza nkaba mu beranda bakora ivyiza bitegetswe!”."},{"id":11,"translation":"Imana Allah na Yo, ntizorindiriza ikiremwa ico ari co cose umusi waco wo gupfa ugeze. Burya Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera."}]},{"id":64,"verses":[{"id":1,"translation":"Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo, ni na Yo Mushoboravyose."},{"id":2,"translation":"Ni Yo Yonyene Yabaremye, gutyo muri mwebwe havamwo umuhakanyi n’umwemeramana (umwe wese ku co yahisemwo). Imana Allah na Yo, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera."},{"id":3,"translation":"Yaremye amajuru n’isi mu kuri (ata gufyina kurimwo), Iraheza Irabarema Ibaha n’ishusho ryiza ribabereye. Ni kuri Yo rero, ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye."},{"id":4,"translation":"Bantu! Imana Allah Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, Iranazi ivyo mugirira mw’ibanga n’ivyo mugirira ku mugaragaro. Kandi burya Imana Allah, Irazi n'ibinyegejwe mu mishaha."},{"id":5,"translation":"Babangikanyamana! Mbega, ntimwashikiriwe n’inkuru y’abagararije b’aho hambere! Barahonjeje inkurikizi z’ubugarariji bwabo, baranarindiriwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":6,"translation":"Ivyo vyose rero, vyatewe n’uko Intumwa zabazanira ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, bakavuga n’akagaye n'akantu bati: “Mbega abantu nkatwe, ni bo boturongora!”. Ni uko rero, baraheza baragarariza Imana Allah, barahakana n’Intumwa zayo bivuye inyuma, bagenza umugongo ntibemera ukuri, Imana Allah na Yo, Irabirengagiza. Burya Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":7,"translation":"Abagararije, barigamba ko batazozurwa. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Muzobuzwa n’iki kuzurwa! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema ko muzozurwa, hanyuma mumenyeshwe ivyo mwakoze vyose; kandi ivyo biroroshe cane ku Mana Allah”."},{"id":8,"translation":"Babangikanyamana! Enda rero nyabuna nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, mwemere na Qor’ani Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa yacu. Burya Imana Allah, Irazi ivyo mukora, ni Muhetuziwavyose."},{"id":9,"translation":"Nimwibuke n’umusi Imana Allah, Yabakoranirije hamwe ku musi w’iyegeranywa ry’ibiremwa. Uwo, ni wo musi w’uruhombo no kwicuza. Uwo wese rero yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, Izomubabarira ibicumuro vyiwe, Imwinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye."},{"id":10,"translation":"Nayo abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’ivyemezo vyayo Yarungikanye Intumwa, vyerekana ko Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa; abo, ni bo bantu rero bo mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera; ayo, ni yo maherezo mabi cane."},{"id":11,"translation":"Nta n’umwe ashikirwa n’ikiza ico ari co cose, kiretse ko kiba ku bushake n’ubushobozi vy’Imana Allah. Uwo wese yemera Imana Allah vy’ukuri, Imana Allah Izoshoboza umushaha wiwe kwakirana umutima ushima ivyagezwe. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe."},{"id":12,"translation":"Bantu! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana Allah, mwongere mwumvire n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Nimwagenza umugongo mukagabitanya, ni ukuri Intumwa yacu, ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye."},{"id":13,"translation":"Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere."},{"id":14,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri mu bakenyezi banyu no mu bibondo vyanyu, harimwo abansi banyu bashobora kubanyereza, murabiyubara rero. Nimwabagirira ikigongwe mukirengagiza ivyo babagiriye mukanabagumiriza ibanga; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo, Izobasubiriza mu ndumane."},{"id":15,"translation":"Mu vy’ukuri amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ni ibigeragezo kuri mwebwe. Imana Allah na Yo, Irafise impembo ihambaye."},{"id":16,"translation":"Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimwitange uko mushoboye kwose mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah; mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muyigamburukire, maze mutange no mu vyo mwaronkejwe ku neza yanyu. Abazokingirwa ntibabe ingumyi; abo, ni bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":17,"translation":"Nimwagurana Imana Allah ingurane nziza (mu gutanga ku bwayo), Izobagwiriza indishi umurengera, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire. Burya Imana Allah, ni Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana;"},{"id":18,"translation":"Izi ibinyegeje n’ibiboneka. Ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora."}]},{"id":65,"verses":[{"id":1,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Nimwashaka (wewe n’abemeramana) kwahukana n’abakenyezi, murahukana na bo mu gihe bavuye mu butinyanka bwabo mutararangurana amabanga y’abubatse[1], gushika aho ikiringo categekanirijwe kwarama ku kwahukana “eda” gihera. Maze muharure, muzigame ico kiringo co kwahukana[2]. Muraheza rero mutinye ibihano vy'Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Ntimuzohirahire rero ngo musohore abo bakenyezi mu nzu zabo, na bo ntibazozisohokemwo mu gihe cose ca eda[3], kiretse mu gihe bokora icaha c'agahomerabunwa; nko gusambana. Izo ngingo, ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, ntimukazirengeko ngo mucike ibigaba. Uwo wese rero azorenga ku mbibe z'ibitegetswe n’Imana Allah, ni ukuri azoba yirenganije. Muntu wahukanye! Ntiwobimenya ko kumbure hari n’aho Imana Allah Yokora ikintu cotuma musubirana inyuma y’ukwahukana.","footnotes":"[1] Canke mu gihe vyamaze kuboneka ko bamaze gusama imbanyi.\n[2] Kugira mumenye aho catanguriye n’aho kizoherera, mu ntumbero yo kumenya umwanya urekuwemwo gusubirana, mu gihe mwoshaka gusubirana.\n[3] Ikiringo ca eda, ni ukuja mu butinyanka gatatu ku bataraca ubutinyanka; canke kumara amezi atatu ku bataraja mu butinyanka n’abamaze kubuca, hisunzwe ikirangamisi c’ikislamu; abibungenze na bo, ikiringo cabo co kwarama, ni ukwibaruka."},{"id":2,"translation":"Mu gihe cose rero abakenyezi bazoba bari mu guheza ikiringo co kwarama ku kwahukana “eda”, murasubirana na bo ku neza, canke mwahukane na bo ubutagisubirana ku neza ico kiringo giheze. Maze mubimenyeshe ivyabona vy’intungane bibiri muri mwebwe, kandi mube amasura ku bw’Imana Allah ata ho mwegamiye. Ivyo bitegetswe uwemera Imana Allah n’umusi w’umuhero w’isi. Uwo wese atinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izomworohereza ibimukura mu ngorane;"},{"id":3,"translation":"Izonamuha ibimubeshaho mu buryo ataziga. Uwishimikije Imana Allah akayizera rero, Iramurwanako. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irashika ku vyo Ishaka, nta kiyinanira. Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze kugera ikintu ico ari co cose;"},{"id":4,"translation":"N’abamaze guca ubutinyanka mu bakenyezi banyu, nimwagira amakenga mu guharura ibiringo vy’ubutinyanka, muraca muharura amezi atatu; ni nk’ukwo nyene kandi muzobigenza no ku bataraja mu butinyanka. Abibungenze na bo, ikiringo cabo ni ukwibaruka imbanyi zabo. Uwo wese atinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izomworohereza ingorane ziwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":5,"translation":"Izo ngingo rero, ni itegeko ry’Imana Allah Yabamanuriye ngo muryubahirize. Uwuzogamburukira Imana Allah, Izomuhanagurira ibicumuro vyiwe, Yongere Imugwirize indishi amahanga, Inamwinjize no mu Bwami bw’ijuru."},{"id":6,"translation":"Muragumiza abakenyezi mu gihe cose baramye mu buraro aho muba, mwisunze ubushobozi bwanyu. Ntimuze mubabangamire mu bwigenge, mu mfungurwa canke mu buraro. Nibaba bafise imbanyi naho, murabaha ibibabeshaho gushika bibaruke. Nibabonkereza abana mumaze kwahukana, murabaha agashimwe kabo, maze muje inama n’ingingo hagati yanyu ku neza. Nimutahuza ku ngingo y’ukwonsa, uyo mwana azoheza yonswe n’uwundi muvyeyi."},{"id":7,"translation":"Uwisununuye mu buryo rero, aratanga ibibeshaho uwo bahukanye n'umwana yibarutse yisunze ubushobozi bwiwe. Nayo uwuzokehanirwa n’uburyo, aratanga mu vyo Uhoraho Allah Yamushoboje kuronka. Imana Allah, ntitegeka umuntu kiretse ku rugero Yamushobojeko. Imana Allah, Izomukenura inyuma y’ubukene."},{"id":8,"translation":"Abantu baba mu bisagara vyinshi, baragararije amategeko y’Imana yabo Rurema Allah n’ay'Intumwa zayo, Turaheza Twebwe Allah, Turabaharurira bikomeye ibikorwa vyabo kw’isi, Turanabaha n’ibihano vy’agacamutwe;"},{"id":9,"translation":"Maze barahonja inkurikizi z’ubuhakanyi bwabo. Vyongeye, amaherezo yabo kwari uguhona n’agahombo;"},{"id":10,"translation":"Imana Allah Yarabateguriye ibihano ruhasha. Emwe banyabwenge bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Kubera ivyo rero, nimutinye ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yaramaze kubamanurira urwibutso;"},{"id":11,"translation":"Urwo rwibutso Yabamanuriye rero si urundi, ni Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibasomera Aayah zayo zitomora ukuri n’ikinyoma, kugira Imana Allah Ikure mu muzimagiza w’ubugarariji, abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, Iheze Ibashire mu muco w’ukwemera. Uwo wese yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe rero, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Ni ukuri Imana Allah, Yarateguriye umwemeramana imfugurwa z’akaroruhore mu Bwami bw’ijuru."},{"id":12,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi indwi. Hagati yayo, hururuka amategeko atunganiriza ibiremwa, hamwe n’ingingo zayo zihishuriwe Intumwa zayo, kugira ngo mumenye yuko Imana Allah Ishoboye ikintu ico ari co cose, n’uko Imana Allah ubumenyi bwayo bukikuje ikintu ico ari co cose."}]},{"id":66,"verses":[{"id":1,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Ni kuki uziririza gufungura ivyo Imana Allah Yakurekuriye, urondera gushimisha abakenyezi bawe? Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo."},{"id":2,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabategetse kugira icuhagizo mu kuzirura ivyo mwarahiriye[1]. Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.","footnotes":"[1] Ico cuhagizo rero co kuzirura ivyo umuntu yaziririje mu kurahira, ni ugufungurira abakene cumi, canke kubambika, canke guha ubwigenge umugurano. Uwudashoboye kugira kimwe muri vyo, araheza agapfunga imisi itatu."},{"id":3,"translation":"Ibuka n’igihe Umuvugishwamana[2] yongorera umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) ko atagisubira gufungura ubuki, uyo mukenyezi amaze kumenyesha iyo nkuru Aisha umukobwa wa Abu Bakri (Imana Allah Imwishimire), Imana Allah na Yo Ikamenyesha Umuvugishwamana ko nya nkuru yamenyekanye, wa Muvugishwamana yaciye ahishuka umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) bimwe mu vyo yaseruye, araheza yirengagiza ibindi. Amaze kubimwiganira rero ido n’ido, wa mukenyezi yaramubajije ati: “Ni nde yabikubwiye?!”. Na we amwishura ati: “Nabibwiwe n’Imana Allah Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose”.","footnotes":"[2] Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":4,"translation":"Ewe Hafswa na Aisha! Nimwigaya ku Mana Allah, imishaha yanyu izoba yahisemwo gusaba imbabazi. Nimwateranira Umuvugishwamana, mugafashanya gukora ibimushavuza naho; ni ukuri Imana Allah, ni Yo Mutabazi wiwe, n’umumalayika Jibrili, hamwe n’aberanda mu bemeramana. Vyongeye, n’abamalayika bose inyuma y’aho bazomurwanako."},{"id":5,"translation":"Kumbure niyahukana na mwe, Imana yiwe Rurema Allah Izomushingira abandi bakenyezi b’intore kubasumba, abislamukazi bicisha bugufi, abemeramanakazi bagamburuka, bigaya ivyaha iyo bacumuye, biyegereza cane ku Mana Allah, bipfunga, abagore n’inkumi zikiri amasugi."},{"id":6,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwikingire, mwebwe n’imiryango yanyu, umuriro udahera; ivyegenyezo vyawo, ni abantu n’amabuye. Uwo muriro, ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange badahesha, ntibigera baca kubiri n’itegeko bahawe n’Imana Allah, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe."},{"id":7,"translation":"Abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bazohamagarwa igihe co kwinjizwa mu muriro udahera bati: “Emwe bahakanye! Ntimugire ico mwireguza kuri uno musi; mu vy’ukuri, murihwa ku vyo mwari mwarakoze kw’isi”."},{"id":8,"translation":"Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwigaye nya kwigaya ku Mana Allah, kumbure Imana yanyu Rurema Allah Yobahanagurira ibicumuro vyanyu, Ikazonabinjiza no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyaho hatemba inzuzi, ku musi Imana Allah Itazotetereza Umuvugishwamana n’abemeramana bari kumwe na we, umuco w’ukwemera kwabo uzobarongora imbere yabo n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro gitambitswe hejuru y’umuriro \"Swiraatwu\" bagana mu Bwami bw’ijuru, bazoba bariko baravuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukwirize umuco wacu, ukomeze gushika mu Bwami bw’ijuru, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire. Mu vy’ukuri Wewe, uri Mushoboravyose”."},{"id":9,"translation":"Ewe Muvugishwamana! Hangana n’abahakanyi bakurwanya ukoresheje inguvu, uheze ukoreshe ingingo n’amabwirizwa y’Imana Allah mu guhangana n’indyarya, kandi ukarire iyo migwi yompi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo, ni ryo herezo ribi."},{"id":10,"translation":"Imana Allah Yarahaye abahakanye, akarorero k’umugore w’Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), n’ak’umugore w’Intumwa y’Imana Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Bari abakenyezi b’abaja babiri mu baja bacu beranda[3], maze barabahemukira mu kwemera, baraheza baragarariza. Nta n’ico babamariye ngo babakize ibihano vy’Imana Allah. Bazoheza rero babwirwe ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire hamwe n’abinjira mu muriro udahera”.","footnotes":"[3] Aka karorero, karerekana ko kugira ico mupfana n’Intumwa canke aberanda, ata co vyokumarira mu gihe woba urangwa n’ibikorwa bibi."},{"id":11,"translation":"Imana Allah Yarahaye kandi abemeramana, akarorero k’umukenyezi w’umwemeramanakazi, umupfasoni wa Firawuni, igihe yavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyubakira inzu iwawe mu Bwami bw’ijuru, maze Unkize, Unkure mu minwe ya Firawuni n’ibikorwa vyiwe bibi, Wongere Unkize abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”;"},{"id":12,"translation":"Imana Allah Irongera Igaha abemeramana, akarorero ka Mariyamu umukobwa wa Imraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, maze Tumuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” ivuye iwacu Twebwe Allah, gutyo asama imbanyi y’Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranemera amabwirizwa y’Imana yiwe Rurema Allah hamwe n’Ibitabu vyayo. Yari no mu bagamburukira cane Imana Allah."}]},{"id":67,"verses":[{"id":1,"translation":"Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, We Rugaba w’inganji y’isi n’ijuru; ni na We Mushoboravyose."},{"id":2,"translation":"Bantu! Ni We Yaremye urupfu n’ubuzima kugira Abagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza ku bwiwe kurusha abandi[1]. Ni na We Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.","footnotes":"[1] Iyi Aayah, irarikira abantu gukora ivyiza bitegetswe, ikanabihaniza gukora ibibi bibujijwe."},{"id":3,"translation":"Ni we Yaremye amajuru indwi agerekeranye. Muntu wihweza ibintu n'ibindi! Ntushobora kubona amahinyu n’ubudasa mu vyaremwe na Nyenimpuhwe. Enda nyabuna rero, subiza amaso inyuma wihweze, hari amahinyu ushobora kubona!"},{"id":4,"translation":"Subiza amaso yawe inyuma wihweze ubugira kandi, amaso azokugarukako arushe, ateterewe ata n’amahinyu abonye."},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije ijuru riri hafi yanyu n’inyenyeri zakaka nk’amatara, Turaheza Tuzigira ibishirira nyakotsi vyo gutera amashetani iyo ahirahiye akaja gusuma urusaku. Twaranateguriye amashetani mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe."},{"id":6,"translation":"N’abagararije mu bantu Imana yabo Rurema Allah, barategekanirijwe ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu. Iryo, ni ryo herezo ribi cane."},{"id":7,"translation":"Nibawutabwamwo, bazowumva usuma bimwe biteye ubwoba uriko urarurumba."},{"id":8,"translation":"Uwo muriro, uhakwa gushwanyagurika kubera ishavu ufitiye abagarariji. Uko hatawemwo umugwi w’abahakanyi, ni ko abawucungera bazobabaza bati: “Mbega ntuze, nta Mugabisha yigeze abashikira kw’isi?”;"},{"id":9,"translation":"Na bo bazokwishura bati: “Egome! Umugabisha yaradushikiriye, turaheza turamuhakana twivuye inyuma, tuvuga duti: “Nta na kimwe Imana Allah, Yigeze Ihishurira umuntu. Kanatsinda mwebwe Intumwa, nta co murimwo atari umuzimagiza ukomeye ubaganisha kure cane y’ukuri””."},{"id":10,"translation":"Bazokwongera bavuge bicuza bati: “Iyo tuza kwumva ukuri twashikirijwe canke tukagira ubwenge bwo gutahura ivyo turarikirwa, ntitwari kuba mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe”."},{"id":11,"translation":"Bazoheza rero bemange ukuri kwamye ibicumuro vyabo. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abantu bo mu muriro wama wegenyejwe."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri, abatinya Imana yabo Rurema Allah bakayisenga biherereye, batinya guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, vyirengagizwe ntibabihanirwe, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru."},{"id":13,"translation":"Bantu! Nimushake mwongorerane ijambo ryanyu canke murivugire ku mugaragaro, nta kitamenyekana ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha."},{"id":14,"translation":"Mbega Imana Yaremye, Yoreka kubimenya gute kandi ari Yo Rumenyi-Rudahishwa, Muhetuziwavyose!"},{"id":15,"translation":"Ni Yo Yaborohereje kuba kw’isi no kuyikorerako. Kubera ivyo rero, nimugendagende mukwiragire mu mihingo yayo yose, mufungure no mu vyo Ibahaye. Ni kuri Yo gusa muzosubira, kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze[2].","footnotes":"[2] Iyi Aayah, irahimiriza abantu kurondera ikibabeshaho bizeye Imana Imwe Rudende Allah, ikanabibutsa gushima inema zayo, ikabihaniza kuganzwa n’ivy’isi."},{"id":16,"translation":"Emwe bagarariji! Mbega mwoba muri mu mahoro ku Mana Allah Iri hejuru, ku buryo Itobafuririra mw’isi ikabamira mu kanya gato isase, maze ikabajegeza na nyamugigima!"},{"id":17,"translation":"Canke mwoba muri mu mahoro ku Mana Allah Iri hejuru, ku buryo Itobarungikira igihuhusi c’urubuye, ari na ho mwomenya ko ubugabisha bwanje bwari ubw’ukuri!"},{"id":18,"translation":"Nta nkeka ko ab’aho hambere y’abagarariji b’i Makka, bagararije bivuye inyuma Intumwa barungikiwe. Mbega none, ukubihaniza kwanje Jewe Allah ko batogarariza n’uko batokwihakana inema zanje, vyabashikanye kuki atari ibihano!"},{"id":19,"translation":"Mbega abagarariji, ntibabona ukungene inyoni ziri hejuru yabo mu kirere ziguruka zigoroye amababa umwanya muremure, zikongera zikayazinga! Ntawuzigumya ngo ntizikoroke atari Nyenimpuhwe Allah. Mu vy’ukuri, Iyo Mana Nyenimpuhwe, ni Yo Nyenukubona, Ibona ikintu ico ari co cose;"},{"id":20,"translation":"Ahubwo mbere, ni izihe ngabo zanyu zobakiza ibihano vy’Imana Allah, atari Nyenimpuhwe Allah! Nta gituma abagarariji bahakana Imana Allah, atari uguhendwa na shetani;"},{"id":21,"translation":"Ahubwo nyene, ni nde yobafungurira mu gihe Imana Rugiravyose Yohagarika kubafungurira! Ahubwo abagarariji ha kwikebuka, baguma bahakana banahunga ukuri."},{"id":22,"translation":"Mbega uwugenda yunamitse umutwe wiwe hasi, atabona iyo aja, yoba ari we atumbereye inzira igororotse kurusha! Canke uwugenda yunamutse, agororotse, abona iyo aja, ni we yoba ari mu nzira igororotse ishika[3]!","footnotes":"[3] Ako, ni akarorero k’umugarariji n’umwemeramana."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Yabaremye; Ibaha amatwi kugira mushobore kwumva; Ibaha n’amaso kugira mushobore kubona; Ibaha n’imishaha kugira mushobore gutahura, ariko rero mushima gake cane!”;"},{"id":24,"translation":"Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Yabaremye Ibakwiragiza hose kw’isi, ni no kuri Yo rero muzokwegeranirizwa ku musi w’izuka”."},{"id":25,"translation":"Abagarariji na bo barinamura bakavuga bati: “Iryo sango ry’umusi w’izuka, rizoshika ryari ga Muhama? Bemeramana! Nimwaba muvugisha ukuri, nimutubwire isango ry’uyo musi!”;"},{"id":26,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bishure uvuge uti: “Ubumenyi bw’isango ry’umusi w’umuhero w’isi, buzwi gusa n’Imana Allah. Jewe mu vy'ukuri, ndi Umugabisha gusa ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayo”."},{"id":27,"translation":"Igihe abagarariji babonye ibihano vy’Imana vyegereje, bazokwijirirwa mu maso, baheze babwirwe n’abamalayika bacungera umuriro n'agashinyaguro n'akantu, bati: “Ivyo, ni vya bihano mwahora musaba ku gutebura ko mwobihabwa kw’isi”."},{"id":28,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Bagarariji! Nimumbwire, hamwe Imana Allah Yonyica hamwe n’abemeramana turi kumwe, canke Ikatubeshaho ku mpuhwe zayo, ni nde azokingira abagarariji ibihano vyayo bibabaza!”."},{"id":29,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nibatarikura mu kanwa, uraca ubabwira uti: “Ni Imana Allah Nyenimpuhwe, ni Yo twemeye twubahiriza n’amabwirizwa yayo, ni na Yo twishimikije, tunazeyeko n’uburaro n’uburamuko. Mu gihe kitari kirekire rero, muzomenya neza uwuri mu muzimagiza ugaragara, uri kure y’ukuri”."},{"id":30,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Mbega mubona gute, mu gihe mwovyuka musanga amazi yanyu mwikorako yanyitse, ni nde wundi yobaronsa amazi meza y’iriba, atari Nyenimpuhwe Allah!”."}]},{"id":68,"verses":[{"id":1,"translation":"Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!","footnotes":"[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara."},{"id":2,"translation":"Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!"},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;"},{"id":4,"translation":"Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani."},{"id":5,"translation":"Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;"},{"id":6,"translation":"Umusazi muri mwebwe uwo ari we."},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi."},{"id":8,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza."},{"id":9,"translation":"Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera."},{"id":10,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;"},{"id":11,"translation":"Akunda kwandagaza abantu, gateranya;"},{"id":12,"translation":"Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;"},{"id":13,"translation":"Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;"},{"id":14,"translation":"Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!"},{"id":15,"translation":"Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2].","footnotes":"[2] Izi Aayah rero, n’aho zahishuwe zinebagura bamwe mu babangikanyamana; nka Waliid mwene Al-Mughiira, zirihaniza umwislamu uwo ari we wese ko yogira inyifato zigayitse nk’izo."},{"id":16,"translation":"Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu."},{"id":17,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;"},{"id":18,"translation":"Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah\" (Imana Allah niyabishaka)."},{"id":19,"translation":"Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;"},{"id":20,"translation":"Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro."},{"id":21,"translation":"Bumaze guca, baciye bahamagarana;"},{"id":22,"translation":"Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”."},{"id":23,"translation":"Baca baragenda bongorerana;"},{"id":24,"translation":"Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”."},{"id":25,"translation":"Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko."},{"id":26,"translation":"Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;"},{"id":27,"translation":"Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;"},{"id":28,"translation":"Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah\" (Imana Allah niyabishaka)!"},{"id":29,"translation":"Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”."},{"id":30,"translation":"Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;"},{"id":31,"translation":"Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;"},{"id":32,"translation":"Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah\"."},{"id":33,"translation":"Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":34,"translation":"Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema."},{"id":35,"translation":"Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!"},{"id":36,"translation":"Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!"},{"id":37,"translation":"Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!"},{"id":38,"translation":"Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu."},{"id":39,"translation":"Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!"},{"id":40,"translation":"Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;"},{"id":41,"translation":"Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;"},{"id":42,"translation":"Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;","footnotes":"[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaravuze iti: “Imana yacu Rurema Allah Izogaragaza umurundi wayo, maze umwemeramana wese mu bagabo no mu bagore ace ayubamira, hasigare uwahora ayubamira kw’isi ku kwiyerekana no kuyagwa neza; agize ngo yubame, umugongo wiwe uzoca ucika igihimba kimwe kitagondeka”. Yashikirijwe na Al-Bukhariy na Muslimu."},{"id":43,"translation":"Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire."},{"id":44,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;"},{"id":45,"translation":"Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane."},{"id":46,"translation":"Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!"},{"id":47,"translation":"Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!"},{"id":48,"translation":"Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;"},{"id":49,"translation":"Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;"},{"id":50,"translation":"Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda."},{"id":51,"translation":"Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”."},{"id":52,"translation":"Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu)."}]},{"id":69,"verses":[{"id":1,"translation":"Igitegerezwa kuba."},{"id":2,"translation":"Ico, ni igiki gitegerezwa kuba?"},{"id":3,"translation":"Ntumwa y'Imana! Ni igiki cokumenyesha ico gitegerezwa kuba, ukuntu giteye n'intureka zaco?"},{"id":4,"translation":"Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), na Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), barahakanye bivuye inyuma umusi w’inkuramutima, ari wo muhero w’isi."},{"id":5,"translation":"Ni uko rero, Bene Thamuudi bahonejwe n’ijwi rimena amatwi."},{"id":6,"translation":"Nayo Bene Aadi, bahonejwe n’igihuhusi c’igikonyozi kirandurana n’imizi ico ari co cose bihuye;"},{"id":7,"translation":"Imana Allah, Yakibarungikiye amajoro indwi n’imirango umunani ikurikirana ata gahengwe, maze kirabahonya. Waraheza ukabona abantu bitega imyereka bagwa hasi nk’ibishitsi vy’itende vyariwe n’umuswa, bitagira intimatima;"},{"id":8,"translation":"Mbega woba ukibona n’umwe muri bo yarokotse, akarusimba! Barahonye bose."},{"id":9,"translation":"Mu nyuma, haje Firawuni n’ubugaba bwiwe, haza n’abahakanyi bo hambere yiwe, hamwe n’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba, barungikiwe Intumwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":10,"translation":"Umugwi wose muri bo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa warungikiwe n’Imana yawo Rurema Allah, maze Iraheza Irawushikura mu kuwuhana bimwe bikomeye."},{"id":11,"translation":"Mu vy’ukuri, igihe isegenya ryahitana vyose rero, Twebwe Allah Twararokoye mu guheka mu bwato bureremba, abo mwakomotseko hamwe n’Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":12,"translation":"Ivyo Twabigize kugira ngo bibabere urwibutso, maze ugutwi kwumva na kwo kwumvireho."},{"id":13,"translation":"Igihe rero havugijwe n’umumalayika Israafiili inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa vyose;"},{"id":14,"translation":"Maze isi hamwe n’imisozi bigakurwaho, bigahondwa rimwe gusa;"},{"id":15,"translation":"Uwo rero, ni wo musi w’imperuka w'igitegerezwa kuba, uzoba washitse;"},{"id":16,"translation":"Aho ijuru rizosatagurika. Kuri uwo musi, ijuru rizoba ridakomeye namba;"},{"id":17,"translation":"Abamalayika na bo bazoba bari ku mfuruka zaryo. Abamalayika umunani b’ibihangange bazoba bareruye hejuru yabo Ubuhangamo bw’Imana yawe Rurema Allah;"},{"id":18,"translation":"Bantu! Kuri uwo musi, muzoshengezwa mwese mucirirwe imanza, muheze muhemberwe ivyo mwakoze, kandi nta banga ryanyu rizonyegezwa."},{"id":19,"translation":"Uwuzohabwa rero igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo, azoca avuga ahimbawe cane ati: “Ehe bantu! Akire, nimwisomere iki gitabu canje;"},{"id":20,"translation":"Mu vy’ukuri, nari nzi yuko nzoronka impembo yanje, ndaheza ndayikorera”;"},{"id":21,"translation":"Uyo rero, azobaho ubuzima bw’akanyamuneza nta ngere;"},{"id":22,"translation":"Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;"},{"id":23,"translation":"Ivyamwa vyo muri Bwo vyamira hafi cane, bikamurwa vyoroshe;"},{"id":24,"translation":"Bazobwirwa bati: “Nimufungure, mwongere munywe n’akayabagu kenshi ku vyo mwakoze kw’isi”."},{"id":25,"translation":"Nayo uwuzohabwa igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, azovuga yihebuye ati: “Amagorwa arama yemwe! Iyo ntahabwa iki gitabu canje;"},{"id":26,"translation":"Ngatako simenye impembo yanje;"},{"id":27,"translation":"Yoo! Iyo urupfu napfuye kw’isi rumarira vyose sinzuke;"},{"id":28,"translation":"Ehe yemwe! Amatungo yanje yose nta co yamariye;"},{"id":29,"translation":"Eka n’ivyireguzo vyanje vyose vyampereyeko”."},{"id":30,"translation":"Abamalayika bacungereye umuriro, bazoca babwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha mukomanye amaboko n’izosi, muce mumudadira n'amapingu;"},{"id":31,"translation":"Hanyuma mumujugunyire mu muriro ururumba;"},{"id":32,"translation":"Muheze mumuboheshe umunyororo muremure cane”;"},{"id":33,"translation":"Mu vy’ukuri, ntiyigeze yemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenicubahirogisumbavyose."},{"id":34,"translation":"Kandi ntiyitaho guhimiriza gufungurira abakenye mu bakene n’aboro, n’abandi."},{"id":35,"translation":"Uno musi rero, nta mukunzi nkoramutima afise ngo amukingire ibihano;"},{"id":36,"translation":"Nta n’ibifungurwa ahabwa, atari amashira n’ibindi bitemba biva mu nyenga y’umuriro;"},{"id":37,"translation":"Nta muntu anabifungura, atari abanyavyaha b’abahakanyi ruhebwa."},{"id":38,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku bintu mubona n’amaso!"},{"id":39,"translation":"No ku vyo mutabona mu binyegejwe ibiremwa!"},{"id":40,"translation":"Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari amajambo y’Imana Allah asomwa n’Intumwa yubashwe."},{"id":41,"translation":"Kanatsinda, si n’amajambo y’umwivuzi w'amazina nk'uko mwibwira. Burya mwemera gake!"},{"id":42,"translation":"Kandi si n’amajambo y’umurozi atongera. Burya mwibuka gake, ngo mushobore kubitandukanya!"},{"id":43,"translation":"Ahubwo iyo Qor’ani, ni amajambo y’Imana Allah yamanuwe n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":44,"translation":"Iyo rero Muhamadi ahirahira ngo arementanye bimwe mu vyo avuga, Tutigeze Tubimuhishurira;"},{"id":45,"translation":"Nta nkeka ko Twari kumuhana, Tukanamuca n’ukuboko kw’iburyo;"},{"id":46,"translation":"Twari no kumuca umutsi mukuru w’umurindi w’amaraso, agapfa;"},{"id":47,"translation":"Kandi nta n’umwe muri mwebwe yoshoboye kumukingira."},{"id":48,"translation":"Mu vy’ukuri iyi Qor’ani ntagatifu, ni n’urwibutso rwibutsa canecane abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah."},{"id":49,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe harimwo abahakana iyi Qor’ani, ntibayemere."},{"id":50,"translation":"Kandi kutayemera, bizotera abagarariji agahombo n’umubabaro."},{"id":51,"translation":"Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni kwo kuri nyakwo kudahinyuzwa."},{"id":52,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, shishikara uninahaza Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose."}]},{"id":70,"verses":[{"id":1,"translation":"Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika;","footnotes":"[1] Yitwa An-Nadhru mwene Al-Haarith"},{"id":2,"translation":"Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;"},{"id":3,"translation":"Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;"},{"id":4,"translation":"Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2].","footnotes":"[2] Uwo, ni wo musi w'iharurirwa ry'ibiremwa no kubicira urutunganye. Ku mwemeramana, azowubona ari akanya gato, kangana n'umwanya isengesho rimwe rimara."},{"id":5,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira;"},{"id":7,"translation":"Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika."},{"id":8,"translation":"Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe;"},{"id":9,"translation":"Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere;"},{"id":10,"translation":"Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe."},{"id":11,"translation":"Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe;"},{"id":12,"translation":"N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo;"},{"id":13,"translation":"N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi;"},{"id":14,"translation":"Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano."},{"id":15,"translation":"Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi;"},{"id":16,"translation":"Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri;"},{"id":17,"translation":"Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo;"},{"id":18,"translation":"Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa."},{"id":19,"translation":"Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu;"},{"id":20,"translation":"Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana;"},{"id":21,"translation":"N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi;"},{"id":22,"translation":"Havuyemwo gusa abasenga;"},{"id":23,"translation":"Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako;"},{"id":24,"translation":"N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa;"},{"id":25,"translation":"Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize."},{"id":26,"translation":"Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe;"},{"id":27,"translation":"N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara;"},{"id":28,"translation":"Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira;"},{"id":29,"translation":"N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane;"},{"id":30,"translation":"Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo."},{"id":31,"translation":"Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe;"},{"id":32,"translation":"N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje;"},{"id":33,"translation":"N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi;"},{"id":34,"translation":"N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa."},{"id":35,"translation":"Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema."},{"id":36,"translation":"Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso!"},{"id":37,"translation":"Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza!"},{"id":38,"translation":"Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi!"},{"id":39,"translation":"Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi."},{"id":40,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose!","footnotes":"[3] Imana Allah Yarahiye kuri ivyo vyose, kuko harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy'uko Ishoboye kuzura ibiremwa."},{"id":41,"translation":"Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo!"},{"id":42,"translation":"Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa;"},{"id":43,"translation":"Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo;"},{"id":44,"translation":"Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana."}]},{"id":71,"verses":[{"id":1,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ku bantu bayo, Tuyibwira Duti: “Gabisha abantu bawe imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane”."},{"id":2,"translation":"Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Bantu banje narungitsweko! Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha nyawe, nkaba ndi n’Intumwa kuri mwebwe."},{"id":3,"translation":"Ico ndabararikiye si ikindi, ni uko mwokwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora vyose mukanayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya, mugaheza mugatinya ibihano vyayo, maze mukanyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabashikiriza;"},{"id":4,"translation":"Imana Allah, Izoheza Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire, Yongere Ibongerereze imyaka y’ukubaho gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa. Mu vy’ukuri isango ntarengwa ryo gupfa, ryagenwe n’Imana Allah, rigeze ntirisubizwa inyuma. Iyo muba mubizi rero, mwokwihutiye ukwemera Imana Allah\"."},{"id":5,"translation":"Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri aba bantu banje, narabahamagariye ku kwemera ijoro n’umurango;"},{"id":6,"translation":"Ariko ihamagara ryanje ryo kukwemera, nta co ryabunguye atari ukumpunga n’ukunyirengagiza;"},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri, igihe cose ndabahamagariye ku kwemera kugira ngo Ubababarire ivyaha vyabo, baca bazibiza intoke amatwi yabo kugira ntibanyumve, bakipfuka n’impuzu zabo kugira ntibambone, gutyo bagatsimbatara ku buhakanyi, bakanirengagiza ukwemera ku manyama."},{"id":8,"translation":"Hanyuma narabahamagariye ku kwemera izuba riva ku mugaragaro;"},{"id":9,"translation":"Hanyuma ndasemerera, ikindi gihe ndabongorera mw’ibanga;"},{"id":10,"translation":"Ndaheza ndababwira nti: “Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah imbabazi ku vyaha vyanyu, mwongere mwigaye kuri Yo ubugarariji bwanyu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenimbabazinyinshi;"},{"id":11,"translation":"Nimwicisha bugufi ku Mana Allah, Izoheza Ibamanurire imvura nyinshi;"},{"id":12,"translation":"Yongere Ibahe amatungo menshi n’ibibondo, Ibahe n’imirima itotahaye hamwe n’inzuzi."},{"id":13,"translation":"Mbega bantu! Ko mutubaha Imana yanyu Allah ngo muyizere, muyisenge!"},{"id":14,"translation":"Mu gihe ari Yo Yabaremye mu rukurikirane rutandukanye[1];","footnotes":"[1] Yarabaremye mu ntanga, hanyuma Iziremamwo amaraso avuze; hanyuma Iyaremamwo igihimba c’inyama, hanyuma Ikiremamwo amagufa; hanyuma Iraheza Yambika nya magufa inyama."},{"id":15,"translation":"Mbega, ntimubona ukuntu Imana Allah Yaremye amajuru indwi agerekeranye!"},{"id":16,"translation":"Iraheza Igira ukwezi kubaboneshereza mw’ijuru ribegereye, Igira n’izuba ngo ribabere itara ryakiriza bose rikabasusurutsa!"},{"id":17,"translation":"Burya Imana Allah, Yaremye inkomoko yanyu mw’ivu[2]; nka kurya Imeza imbuto mw’isi;","footnotes":"[2] Imana Allah Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu, Iraheza Itegekanya ibikenewe mu mfungurwa mw’ivu, kugira ngo ashobore kubandanya kuba kw’isi."},{"id":18,"translation":"Hanyuma, Imana Allah Izobasubiza mw’ivu mupfuye, Iheze Inaribazuremwo kandi ku musi w’impera."},{"id":19,"translation":"Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso;"},{"id":20,"translation":"Kugira ngo mugendagende mwidegemvye kuri yo”."},{"id":21,"translation":"Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barimonogoje mu kungarariza, baraheza bakurikira abantu ata co amatungo yabo n’abana babo bizobungura, atari uguhuba kw’isi no guhomba mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":22,"translation":"Abarongoye abandi, baragize n’ubwononyi bukomeye mu guhubisha ababumvira;"},{"id":23,"translation":"Baraheza bavuga babwira ba nyarucari bati: “Ntimurote muvavanura no gusenga imana zanyu ngo musenge Imana ya Nuhu; ntimureke gusenga “Waddu”, canke “Suwaa’u”, canke “Yaghuuthi”, canke “Ya’uuqa” na “Nasri”[3]”.","footnotes":"[3] Ayo, ni amazina y’abantu beranda, bigeze kubaho hanyuma barapfa, maze shetani iraheza yosha abantu babo ko bobagirira ivyibutso bazokwama babibukirako, gutyo bagamburukire Imana Allah kurusha. Abashinze ivyo vyibutso, bamaze guhwera, hagaca igihe kirekire, shetani yashotse yosha abuzukuruza babo ko bosenga nya vyibutso, bakanavyifashisha mu gusaba. Ni na co gituma rero, kizira kikaziririzwa kugira ibishusho n'ivyibutso, kwubakira iburi ku mva, kuko inyuma y’igihe kirekire birashobora gusengwa mu gishingo c’Imana Allah."},{"id":24,"translation":"Mu vy’ukuri abarongoye abandi, baramaze guhubisha ba nyarucari benshi. Kubera ivyo rero Mana! Ndagusavye ntiwongerereze abirenganije mu kukugarariza, kiretse ubuhuvyi n’agahombo ku kandi\"."},{"id":25,"translation":"Kubera ibicumuro vyabo vy’agahomerabunwa rero, basomeshejwe nturi biturutse kw’isegenya. Bazokwinjizwa no mu muriro udahera. Ntibazoshobora kuronka ababatabara mu bihano, kiretse Imana Allah."},{"id":26,"translation":"Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), imaze kwihebura ko batacemeye, yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Ntusige n’igisanira muri abo bagarariji, kigendagenda kw’isi;"},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri, niwabasigaza kuri iyi si, bazohubisha ibiremwa vyawe, kandi ntibazokwibaruka atari abantu b’abanyavyaha, b’abagarariji;"},{"id":28,"translation":"Mana yanje Rurema Allah! Ngirira imbabazi jewe n’abavyeyi banje, n’uwo wese yinjiye mu nzu yanje yemera Imana Allah. Wongere ubabarire abemeramana n’abemeramanakazi, kandi ntiwongerereze abirenganije mu kugarariza, kiretse ukubahonya kw'isi, hamwe n’agahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa”."}]},{"id":72,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bawe uti: “Jewe, narahishuriwe ko umugwi w’Amajini wumvirije Qor’ani ndiko ndayisoma, uca ubwira benewabo uti: “Mu vy’ukuri twebwe Amajini, twumvise Qor’ani y’igitangaza;"},{"id":2,"translation":"Irongora mu nzira igororotse, duca turayemera ko ari amajambo y’Imana Allah. Ntituzokwigera tubangikanya Imana yacu Rurema Allah n’ikintu na kimwe."},{"id":3,"translation":"Twemera n’uko Imana yacu Rurema Allah Nyaguhabwa icubahiro n’iteka biyikwiye, Itigeze Igira umugore canke umwana;"},{"id":4,"translation":"N’uko uwakehewe n’ubwenge muri twebwe ari we Ibilisi, yahora arementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;"},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri, twahora twiyumvira ko abantu hamwe n’Amajini, batazorementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;"},{"id":6,"translation":"Twiyumvira n’uko, hariho abagabo mu biremwa-muntu, bahora bikingira ku bagabo mu Majini ngo babakingire ibibi mu rugendo[1], gutyo Amajini yongerereza abantu ubwoba bwo kuyatinya;","footnotes":"[1] Ukwo kwikingira ibibi ku biremwa, ari na kwo Imana Allah Yihanije ababangikanyamana, ni ibangikanyamana rikuru. Ntiribabarirwa n’Imana Allah, kiretse mu gihe uwarigize yigaye nya kwigaya ku Mana Allah. Iyi Aayah rero hamwe n’ivyo, irihaniza cane kuja ku bapfumu, ba rumenyi na ba senyagara, n’abandi."},{"id":7,"translation":"N’uko abagarariji mu bantu, biyumvira nk’uko mwebwe Amajini mwiyumvira, ko Imana Allah Itazozura n’umwe mu biremwa."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri, twaratumbereye amaja kw’ijuru gusuma urusaku, dusanga ryuzuye abamalayika bakomeye cane baricungereye n’ibishirira vy’inyenyeri nyakotsi."},{"id":9,"translation":"Mu vy’ukuri, twahora twicara ku mfuruka zaryo, mu vyicaro vyo gusuma urusaku. Kuva ubu, uwo wese rero ahirahiye ngo asume urusaku amaja kw’ijuru, asanga arindiriwe n’igishirira nyakotsi giturira[2].","footnotes":"[2] Muri iyi Aayah ya 9 n’iya 10, harimwo icemezo c’uko abapfumu, abarozi, ba rumenyi na ba senyagara, batazi namba ibinyegejwe ibiremwa."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, ntituzi rero ko gucungera ijuru bidasanzwe, ari ku nabi y’abari kw’isi, canke ko Imana yabo Rurema Allah Ibashakira ineza n’ubugororotsi!"},{"id":11,"translation":"Mu vy’ukuri, burya muri twebwe Amajini, harimwo abagororotsi bikwiye, harimwo kandi abagarariji n’ibigaba. Turi imigwi itandukanye mu kwemera."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri, twari tuzi ko tutazonanira Imana Allah, aho tuzoba turi hose, haba kw’isi canke mu kirere, kandi ko ata buhungiro."},{"id":13,"translation":"Mu vy’ukuri, igihe twumva Qor’ani, twaciye tuyemera ata guhigimanga ko ari ukuri kuvuye ku Mana Allah. Kubera ivyo rero, uwo wese yemera Imana yiwe Rurema Allah, ntatinya kurenganywa mu kugabanywa ku ndishi canke kurengerezwa ku vyaha."},{"id":14,"translation":"Muri twebwe rero, harimwo abislamu b’ukuri, hakabamwo n’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Abazokwicisha bugufi rero bakaba abislamu; abo, ni bo bazoba batumbereye inzira y’ukuri."},{"id":15,"translation":"Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah; abo, ni bo bazoba inkwi z’umuriro udahera Jahannamu”."},{"id":16,"translation":"Iyo abagarariji mu bantu no mu Majini barongoka mu nzira y’ukwemera Imana Allah, bakaba abislamu, Twebwe Allah, Twari kubaronsa amazi menshi cane bakoroherwa mu kuronka ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi;"},{"id":17,"translation":"Kugira ngo Tubagerageze ko bashima inema bahawe n’Imana Allah. Uwo wese rero azokwirengagiza kwumviriza no kugendera urwibutso rw’Imana yiwe Rurema Allah rwa Qor’ani, Imana Allah Izomushira mu bihano bikomeye."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri imisigiti yose, ni iy’Imana Allah, yagenewe ko Isengerwamwo. Kubera ivyo rero, ntimuze muyisengeremwo ikindi kintu hamwe n’Imana Allah, gutyo muheze musabe, musenge ku bw’Imana Allah[3].","footnotes":"[3] Iyi Aayah, ibwiriza kwubahiriza imisigiti mu kutayikoreramwo ikintu ico ari co cose cotosekaza izirikanamana, ikanahimiriza no gukurikira Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":19,"translation":"Narahishuriwe n’uko igihe Umuja w’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yariko arasengera ahitwa Batwnu Nakhla, Amajini yahatswe kwuriranako bitewe n’umugundano wo guhurumbira kwumviriza Qor’ani."},{"id":20,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Jewe, nsenga gusa Imana yanje Rurema Allah Yonyene, kandi sindayibangikanya n’ikindi kintu mu kuyisenga”."},{"id":21,"translation":"Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta bushobozi mfise bwo kubakingira ikibi canke bwo kubaronsa iciza”."},{"id":22,"translation":"Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta n’umwe ashoboye kunkingira ibihano vy’Imana Allah mu gihe noyigarariza; kandi muri ico gihe, nta buhungiro noronka atari ku Mana Allah;"},{"id":23,"translation":"Nta na kimwe njejwe, kiretse gushikiriza ubutumwa, Imana Allah Yandungikanye. Uwo wese rero azogarariza Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, nta nkeka ko indishi yiwe ari umuriro udahera Jahannamu, azowubamwo ibihe bidahera, mu bihano vyamaho”."},{"id":24,"translation":"Kugeza aho ababangikanyamana bazobonera ibihano basezeraniwe, aho ni ho rero bazoheza bagatahura uwufise abatabazi bagoyagoya, kandi bari ku rushi."},{"id":25,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Sinzi ko ivyo bihano mwasezeraniwe biri hafi gushika, canke ko Imana yanje Rurema Allah Izobiha ikiringo kirekire, bitarashika”."},{"id":26,"translation":"Imana Allah, ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa, kandi ntiyereka uwo ari we wese ivyo binyegezwa vyayo;"},{"id":27,"translation":"Kiretse uwo Yishimiye Ikamugira Intumwa. Uyo muri ico gihe rero, Imana Allah Iraheza Ikamwereka mu binyegezwa vyayo, Ikanamurungikira abamalayika bamucungereye imbere n’inyuma yiwe, ku kuzitira abasumyi b’urusaku mu Majini[4];","footnotes":"[4] Kugira ntihagire n’umwe mu Majini ashobora gusuma urusaku mu kumenya ibinyegezwa vyayo."},{"id":28,"translation":"Kugira ngo Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), imenye ko n'Intumwa z’aho hambere yayo, zakingiwe nkayo mu gihe co gushikiriza ubutumwa, n’uko ikingiwe Amajini nk’uko zakingiwe; yongere imenye n’uko ubumenyi bw’Imana Allah, bukikuje ukuntu izo Ntumwa zimerewe hamwe n’amabwirizwa zikeneye kwisunga; imenye kandi n’uko Imana Allah Izi bikwiye igitigiri c’ibintu vyose."}]},{"id":73,"verses":[{"id":1,"translation":"Ewe wizingiriye mu mpuzu!"},{"id":2,"translation":"Haguruka usenge mw’ijoro, usigaze umwanya muto wo kuruhuka;"},{"id":3,"translation":"Senga igice c’ijoro canke ugabanyeko gato gushika ku ca gatatu caryo;"},{"id":4,"translation":"Canke wongereko gato gushika ku vya gatatu bibiri, hanyuma usome neza Qor’ani ntagatifu mu bwitonzi, wubahirije amategeko y’ukuntu isomwa."},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzokumanurira Qor’ani irimwo amabwirizwa ahambaye."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, ukwiyegereza Imana Allah mu gusenga mw’ijoro, kuratururuza umushaha kurusha, kandi kuratuma utahura neza igisomwa, kuko umuntu muri uwo mwanya, nta buremere n’umwitwarariko w’ivy’isi biba bimuhanze."},{"id":7,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ku murango, urafise umwanya munini ukwiye wo gutunganya ivyawe n’ibindi bikorwa vy'ishikirizabutumwa. Kubera ivyo rero, koresha umwanya wo mw’ijoro mu gusenga Imana yawe Allah;"},{"id":8,"translation":"Wongere uninahaze Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, kandi wamizeko kuyisenga bimwe bivuye ku mutima, unayizere."},{"id":9,"translation":"Imana Allah, ni Yo Mubungabunzi Rugaba w’ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati y’aho, nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo Yonyene gusa. Kubera ivyo rero, yizere uheze uyigire Umuhagarikizi wawe muri vyose."},{"id":10,"translation":"Uheze wihanganire n’ivyo ababangikanyamana bakuvugako, mu kugutyoza wewe hamwe n’idini warungikanwe, maze witandukanye n’ivyo bakora unabirengagize ata gahigihigi."},{"id":11,"translation":"Maze undekere Jewe Allah abahakana Aayah zanje, borohewe mu buzima bwo kw’isi; batenyenyere gato, maze ubandekere vuba bwango bazokwibonerako."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turafise ibihano Twabateguriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ibihano vyo kuboheshwa iminyororo iremereye no guturirwa mu muriro ururumba ata guhesha;"},{"id":13,"translation":"N’imfungurwa zihagama uwuziriye, n’ibindi bihano vy’akataraboneka bibabaza cane bibarindiriye;"},{"id":14,"translation":"Umusi isi hamwe n’imisozi bizogigima, maze imisozi ikaba nk’amaburi y’umusenyi woroshe yayotse."},{"id":15,"translation":"Bantu b'i Makka! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabarungikiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira itubere icabona ku bugarariji n’ubugaba bwanyu, nk’uko Twarungikiye Firawuni Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah);"},{"id":16,"translation":"Ni uko rero, Firawuni yarahakanye iyo Ntumwa, ntiyaheza ngo ayemere, Dushoka Tumuhanisha ibihano vy’akarorero[1].","footnotes":"[1] Iyi Aayah, iragabisha uwo wese aca kubiri n’Intumwa akagabitanya, ko ashobora gushikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye Firawuni n’abantu biwe."},{"id":17,"translation":"Mbega none, ni gute mwokwikingira - mu gihe mwobandanya kugarariza - ibihano vy’umusi w’izuka, umusi uzosazisha abana bakamera imvi kubera intureka zawo!"},{"id":18,"translation":"Kuri uwo musi, ijuru rizokwata imigaga. Ni isango ry’Imana Allah ritegerezwa gushika nta gisivya."},{"id":19,"translation":"Mu vy’ukuri, izi Aayah za Qor’ani zigabisha, zirimwo urwibutso ku bantu. Uwushaka kwibuka rero, niyumvire Imana Allah, maze afate inzira igana ku Mana yiwe Rurema Allah."},{"id":20,"translation":"Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irazi ko wewe hari igihe uhaguruka mw’ijoro gusenga umwanya wababa ivya gatatu bibiri vyaryo, ikindi gihe ugasenga igice caryo canke ica gatatu caryo; kandi aho hose uba uri kumwe na bamwe mu ngendanyi zawe. Burya Imana Allah, ni Yo Itunganya ibiringo vy’ijoro n’umurango. Imana Allah rero, Irazi ko mutazoshobora kwubahiriza ibiringo vyo gusenga ijoro ryose, kubera ivyo rero, Iraborohereje. Muraheza rero musome mw’isengesho ryo mw’ijoro, ibisomwa vyoroshe muri Qor’ani. Imana Allah, Irazi ko muri mwebwe hazobamwo abarwaye, abafata ingendo baja kurondera icorirenza mu mpano z’Imana Allah, n’abandi rero baja guharanira idini ryayo. Kubera ivyo rero, murasoma mw'isengesho ryo mu gicugu, ibisomwa biboroheye muri Qor'ani, muheze mutsimbataze n'amasengesho-bwirizwa, mwongere mutange n'ishikanwa-bwirizwa, hanyuma mugurane Imana Allah, ingurane nziza mu gutanga imperezwa ku bwayo. Nta na kimwe rero mutanga ku neza yanyu, kiretse ko muzosanga indishi yaco ku Mana Allah, muzosanga ari ineza n’indishi nyinshi kuruta ivyo mwatanze kw’isi. Nimusabe kandi imbabazi ku Mana Allah mu bihe vyose. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo."}]},{"id":74,"verses":[{"id":1,"translation":"Ewe wipfutse impuzu!"},{"id":2,"translation":"Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;"},{"id":3,"translation":"Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;"},{"id":4,"translation":"Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;"},{"id":5,"translation":"Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;"},{"id":6,"translation":"Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;"},{"id":7,"translation":"Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo."},{"id":8,"translation":"Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;"},{"id":9,"translation":"Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;"},{"id":10,"translation":"Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa."},{"id":11,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;"},{"id":12,"translation":"Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;"},{"id":13,"translation":"N’abana bama hambavu yiwe i Makka;"},{"id":14,"translation":"Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;"},{"id":15,"translation":"Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!"},{"id":16,"translation":"Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;"},{"id":17,"translation":"Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1].","footnotes":"[1] Uwuvugwa muri izi Aayah, ni umuhakanyi ruhebwa w’i Makka, yitwa Al-Waliid mwene Al-Mughiira. Ibihano yasezeraniwe ng’aho, bitegekanirijwe uwo wese ahakana akarwanya ukuri yivuye inyuma."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":19,"translation":"Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!"},{"id":20,"translation":"Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!"},{"id":21,"translation":"Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);"},{"id":22,"translation":"Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga."},{"id":23,"translation":"Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;"},{"id":24,"translation":"Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;"},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”."},{"id":26,"translation":"Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura."},{"id":27,"translation":"Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?"},{"id":28,"translation":"Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;"},{"id":29,"translation":"Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;"},{"id":30,"translation":"Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana."},{"id":31,"translation":"Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.","footnotes":"[2] Kuko ico gitigiri nyene, ni co kivugwa no mu bindi Bitabu vyamanuwe."},{"id":32,"translation":"Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!"},{"id":33,"translation":"No kw’ijoro iyo bwije hakijima!"},{"id":34,"translation":"No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!"},{"id":35,"translation":"Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!"},{"id":36,"translation":"Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;"},{"id":37,"translation":"Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi."},{"id":38,"translation":"Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;"},{"id":39,"translation":"Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo."},{"id":40,"translation":"Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;"},{"id":41,"translation":"Ukuntu abanyavyaha bamerewe."},{"id":42,"translation":"Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”."},{"id":43,"translation":"Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;"},{"id":44,"translation":"Ntitwigeze tunafungurira abakene;"},{"id":45,"translation":"Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;"},{"id":46,"translation":"Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;"},{"id":47,"translation":"Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”."},{"id":48,"translation":"Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba.","footnotes":"[3] Mu bamalayika, Intumwa n’abandi."},{"id":49,"translation":"Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!"},{"id":50,"translation":"Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;"},{"id":51,"translation":"Zihunze intambwe."},{"id":52,"translation":"Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana."},{"id":53,"translation":"Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire."},{"id":54,"translation":"Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka."},{"id":55,"translation":"Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa."},{"id":56,"translation":"Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi."}]},{"id":75,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku musi w’izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo!"},{"id":2,"translation":"Ndanarahiye no ku mutima winegura kenshi[1]! Ko ibiremwa bizozuka.","footnotes":"[1] Umutima winegura kenshi ku kudakora ibitegetswe, canke ku gukora ibibujijwe bizira, ni umutima w’umwemeramana."},{"id":3,"translation":"Mbega, umuntu w’umugarariji yibaza ko Tutazosubira kwegeranya amagufa yiwe inyuma yo gupfa!"},{"id":4,"translation":"Vyobuzwa n’iki! Twebwe Allah Tuzosubira kuyegeranya, ahubwo Turashoboye no kuringaniza intoke n’amakanda yazo nk’uko zari ziri imbere yo gupfa."},{"id":5,"translation":"Ahubwo rero, umuntu ahakana yivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, ashaka ko yoguma mu vyaha;"},{"id":6,"translation":"Maze akabaza atangara n'itebura n'akantu ati: “Mbega izuka ry’ibiremwa rizoshika ryari!”."},{"id":7,"translation":"Igihe umugarariji yakanutse amaso ku bwoba bw’intureka z’uwo musi;"},{"id":8,"translation":"Ukwezi kukazima, hakaba ubwirakabiri;"},{"id":9,"translation":"Izuba hamwe n’ukwezi bigashirwa hamwe, ntihasubire kuba ijoro n’umurango;"},{"id":10,"translation":"Kuri uwo musi, umuntu azovuga ati: “Ubuhungiro bwo gukira ibihano buri hehe!”."},{"id":11,"translation":"Muntu! Eka teshwa ute, urahumba! Si nk’uko uvyipfuza, nta buhungiro, eka nta n’ubukiriro;"},{"id":12,"translation":"Kuri uwo musi, amaherezo y’ibiremwa vyose n’ubutururo bwavyo, ni ku Mana yawe Rurema Allah."},{"id":13,"translation":"Umuntu kuri uwo musi, azomenyeshwa ivyo yakoze vyose; ivyiza n’ibibi, n’ivyo yagizemwo uruhara bigakorwa yarapfuye."},{"id":14,"translation":"Ahubwo rero, burya umuntu wenyene ku gatwe kiwe, ni isura ku vyo yakoze n’ivyo atakoze;"},{"id":15,"translation":"N’aho yotanga ivyireguzo yisigura ku vyaha yakoze, nta co bizomwungura."},{"id":16,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ntugasubiremwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa, imbere yuko umumalayika Jibrili aheraheza, wihutira kuyifata neza ku mutwe ku mpungenge z’uko woyibagira."},{"id":17,"translation":"Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Tujejwe kuyitururuza mu mushaha wawe no kugushoboza kuyisoma ku mutwe."},{"id":18,"translation":"Iyo Intumwa yacu Jibrili iyigusomeye rero, ba ukurikirana igisomwa ata kuyiciramwo."},{"id":19,"translation":"Hanyuma mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tujejwe kuyigusigurira."},{"id":20,"translation":"Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero;"},{"id":21,"translation":"Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":22,"translation":"Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya;"},{"id":23,"translation":"Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye."},{"id":24,"translation":"Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe;"},{"id":25,"translation":"Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo."},{"id":26,"translation":"Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima \"Roho\" yageze mu muhogo ari ku mpfiro;"},{"id":27,"translation":"Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”;"},{"id":28,"translation":"Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi;"},{"id":29,"translation":"Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma."},{"id":30,"translation":"Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[2].","footnotes":"[2] Ibija mu Bwami bw’ijuru, biterwe iteka ryo kubwinjira; ibija mu muriro udahera na vyo nyene, biteterezwe mu kuwinjira."},{"id":31,"translation":"Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa;"},{"id":32,"translation":"Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa;"},{"id":33,"translation":"Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu."},{"id":34,"translation":"Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!"},{"id":35,"translation":"Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!"},{"id":36,"translation":"Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije!"},{"id":37,"translation":"Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko!"},{"id":38,"translation":"Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;"},{"id":39,"translation":"Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore."},{"id":40,"translation":"Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima!"}]},{"id":76,"verses":[{"id":1,"translation":"Mu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima \"Roho\", ntiyari bwabe ikintu kivugwa."},{"id":2,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye."},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo."},{"id":4,"translation":"Mu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe."},{"id":5,"translation":"Mu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri[1]”.","footnotes":"[1] Kaafuuri, ni umwambiro uzoha ibinyobwa akanovera n’akamoto keza."},{"id":6,"translation":"Ivyo binyobwa, ni iriba riri mu Bwami bw’ijuru, aho abaja b’Imana Allah bicisha bugufi bazonywera, bazoricira inzira baritumbereze aho bashaka;"},{"id":7,"translation":"Bakiri kw’isi rero, barubahiriza ivyo biyemeje “nadhri” bakabishira mu ngiro, bagatinya n'ibihano vyo ku musi, ivyago vyawo bizoba bihambaye, vyugarije hose;"},{"id":8,"translation":"Bakanafungurira n’umukene, impfuvyi n’imbohe, mu gihe na bo nyene bakunda izo mfungurwa kandi banazikeneye;"},{"id":9,"translation":"Mu mitima yabo bakavuga bati: “Ni ukuri, Tubafunguriye ku bw’Imana Allah turondera indishi zayo, ntitubaronderako namba impembo canke gushimwa;"},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”."},{"id":11,"translation":"Abo rero, Imana Allah Izobakingira intureka z’ibihano vy’uwo musi, Yongere Ibasayanganishe mu maso, Ibahe n’akamwemwe ku kandi ku mutima;"},{"id":12,"translation":"Imana Allah Izonabahembera ukuntu bihanganye kw’isi, Ibahe Ubwami bw’ijuru n’impuzu z’iharire yoroshe;"},{"id":13,"translation":"Bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, biteye igomwe, akayaga keza kabaca irya n’ino, ntibazokwumva ubushuhe bw’izuba canke igikonyozi vy’umurengera;"},{"id":14,"translation":"Bazoba bari mu gatutu k’ibiti vy’aho kari hafi, ivyamwa vya nya biti bizoba vyoroshe kwamura."},{"id":15,"translation":"Bazohabwa n’abakozi babahereza ku masahani no mu birahuri vy’umwakaka;"},{"id":16,"translation":"Ibirahuri vy’umwakaka bibonerana, birimwo ibinyobwa bipimwe neza ku rugero rw’inyota y’umunywi."},{"id":17,"translation":"Aho mu Bwami bw’ijuru, bazoherezwa inzoga itaboreza ivanzwe n’itangawizi."},{"id":18,"translation":"Yengeshejwe amazi y’akanovera y’iriba “Salsabiil”, amanuka neza mu muhogo ata gakatsi."},{"id":19,"translation":"Bazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.","footnotes":"[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane."},{"id":20,"translation":"Aho ubonye hose muri nya Bwami, ubona inema z’akaroruhore n’ubwami bunini buhimbaye."},{"id":21,"translation":"Bazoba bambaye impuzu z’iharire yoroshe y’urwatsi rubisi, baheze barenzeko n’izindi z'iharire iremereye, bazonaberwa mu kwambikwa imiringa y’umwakaka. Hamwe n’ivyo vyose rero, Imana yabo Rurema Allah, Izobaha ikinyobwa gisukuye, kitagira agakatsi;"},{"id":22,"translation":"Maze babwirwe bati: “Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpembo yanyu, ibikorwa vyanyu vyarashimwe n’Imana Allah”."},{"id":23,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaguhishuriye Qor’ani ibicebice, kugira wibutse ibiremwa, uheze uremeshe abemeramana, ugabishe n’abagarariji."},{"id":24,"translation":"Kubera ivyo rero, ihanganire ingingo y’Imana yawe Rurema Allah ku vyagezwe kuri wewe, uheze uyishime, maze ubandanye ushikirize ubutumwa bwayo, kandi ntukagamburukire umunyavyaha canke umugarariji n’umwe mu babangikanyamana."},{"id":25,"translation":"Kandi wibuke kuguma uninahaza Imana yawe Rurema Allah no kuyisaba mu gitondo no ku mugoroba."},{"id":26,"translation":"Mw’ijoro naho, urubamira Imana Allah (usujudu), uheze usenge mu gicugu uyininahaza umwanya munini."},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri, abo babangikanyamana bakunda ivy’isi, bakavyitwararika cane, bakareka kwitegurira umusi w’umuhero w’isi uremereye."},{"id":28,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha."},{"id":29,"translation":"Mu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah."},{"id":30,"translation":"Kanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora."},{"id":31,"translation":"Ishira mu mpuhwe zayo uwo Ishaka mu baja bayo. Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Yarabateguriye ibihano bibabaza cane."}]},{"id":77,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!"},{"id":2,"translation":"No ku miyaga y’igihuhusi!"},{"id":3,"translation":"No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!"},{"id":4,"translation":"No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!"},{"id":5,"translation":"No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;"},{"id":6,"translation":"Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!"},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.","footnotes":"[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba."},{"id":8,"translation":"Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;"},{"id":9,"translation":"Igihe n’ijuru ryase imigaga;"},{"id":10,"translation":"Igihe n’imisozi yanyitse;"},{"id":11,"translation":"Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;"},{"id":12,"translation":"Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?"},{"id":13,"translation":"Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa."},{"id":14,"translation":"Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?"},{"id":15,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero."},{"id":16,"translation":"Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!"},{"id":17,"translation":"Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!"},{"id":18,"translation":"Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":19,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo."},{"id":20,"translation":"Mbega babangikanyamana! Twebwe Allah, ntitwabaremye mu mazi y’intanga agayitse!"},{"id":21,"translation":"Hanyuma Tuyashira mu gitereko gikingiwe c’umugore!"},{"id":22,"translation":"Gushika ku kiringo categekanijwe kizwi n’Imana Allah;"},{"id":23,"translation":"Turaheza Tuyatunganyamwo ikiremwa-muntu gikwiye. Emwe! Ni Twebwe Allah, Abeza bo gutunganya indemo kurusha."},{"id":24,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ubushobozi bw’Imana Allah bwo kurema no kuzura abapfuye."},{"id":25,"translation":"Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi kuba iyegeranirizo!"},{"id":26,"translation":"Ry’abagihema bagendagenda kuri yo n’abasandavye bashingurwa muri yo!"},{"id":27,"translation":"Tuyishirako n’imisozi ishimitse miremire kugira ngo iturure, Tubanywesha n’amazi meza y’umusarara!"},{"id":28,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma inema z’Imana Allah."},{"id":29,"translation":"Abamalayika bacungereye umuriro wa Jahannamu, bazobwira abagarariji bati: “Nimugende muri vya bihano mwahora muhakana ko mutazohabwa;"},{"id":30,"translation":"Nimugende mu gitutu c’umuriro wa Jahannamu gifise imfuruka zitatu;"},{"id":31,"translation":"Si igitutu gikingira ubushuhe bw’uwo musi. Ntikizonabuza ko bababurwa n’urubeya rw’umuriro."},{"id":32,"translation":"Mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ucira amasase angana n’igorofa amahanga."},{"id":33,"translation":"Isase rimwe riva muri wo, riguruka rimeze nk’ingamiya z’ibara ryirabura rija gusa n’umuhondo."},{"id":34,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’izuka ry’ibiremwa n’intureka zawo."},{"id":35,"translation":"Uwo musi w’izuka, ni umusi abahakanyi batazoronka ico bavuga cobungura."},{"id":36,"translation":"Nta n’uburenganzira bazohabwa bwo kuvuga ngo biregure kuko batazoronka ico bireguza."},{"id":37,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ibizoshika ku musi w’umuhero."},{"id":38,"translation":"Uwo musi, ni umusi wo gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Twabakoranije mwebwe abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagarariji b’aho hambere."},{"id":39,"translation":"Nimwaba rero mufise uburyo bwo kwigobotora mu bihano, nimubukoreshe muheze mukire ibihano vy’Imana Allah."},{"id":40,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah, Intumwa, Ibitabu vyayo n’umusi w’imperuka."},{"id":41,"translation":"Mu vy’ukuri, abagamburukiramana batinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo bakiri kw’isi, bazoba bari mu gatutu k'ibiti vy'ivyamwa katigera karenga, ahari n’inzuzi zitemba;"},{"id":42,"translation":"N’ivyamwa bitandukanye mu vyo bipfuza;"},{"id":43,"translation":"Bazobwirwa n'Imana Allah bati: “Nimufungure mwongere munywe n’akayabagu kenshi, ku vyiza mwari mwarakoze kw’isi."},{"id":44,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ukwo ni ko Duhemba abagwaneza”."},{"id":45,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa ry’ibiremwa."},{"id":46,"translation":"Abahakanyi na bo bazoheza babwirwe bakiri kw’isi bati: “Nimufungure, muryoherwe akanya gato. Mu vy’ukuri, mwebwe muri inkozi z’ikibi”."},{"id":47,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah."},{"id":48,"translation":"Iyo babwiwe bati: “Enda rero nyabuna nimusenge mwunamire Imana Allah, ntibasenga ngo bayunamire”."},{"id":49,"translation":"Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa y’Imana Allah."},{"id":50,"translation":"Batemeye Qor’ani ntagatifu, ni ikihe gitabu inyuma ya Qor’ani bokwemera!"}]},{"id":78,"verses":[{"id":1,"translation":"Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?"},{"id":2,"translation":"Babazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu;"},{"id":3,"translation":"Ari yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma."},{"id":4,"translation":"Nibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka."},{"id":5,"translation":"Eka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo."},{"id":6,"translation":"Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso!"},{"id":7,"translation":"Tugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya!"},{"id":8,"translation":"Tubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore!"},{"id":9,"translation":"Tugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima!"},{"id":10,"translation":"Tugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje!"},{"id":11,"translation":"Tugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho!"},{"id":12,"translation":"Twubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu!"},{"id":13,"translation":"Tugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa!"},{"id":14,"translation":"Tumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu;"},{"id":15,"translation":"Kugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko;"},{"id":16,"translation":"N’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye."},{"id":17,"translation":"Mu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa;"},{"id":18,"translation":"Ni umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1];","footnotes":"[1] Umugwi wose w’abantu, uzoza uri kumwe n’indongozi yawo mu Ntumwa."},{"id":19,"translation":"Amajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi;"},{"id":20,"translation":"Imisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2].","footnotes":"[2] Icirungu, ni kurya kuntu ubona ibuheramaso nk’uko hoba hari amazi, ariko wamara kuhagera ntuhasange nya mazi."},{"id":21,"translation":"Mu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi;"},{"id":22,"translation":"Ku barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo;"},{"id":23,"translation":"Bazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera."},{"id":24,"translation":"Nta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota;"},{"id":25,"translation":"Atari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera."},{"id":26,"translation":"Iyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze."},{"id":27,"translation":"Mu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire;"},{"id":28,"translation":"Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa."},{"id":29,"translation":"Ibintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”."},{"id":30,"translation":"Kubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi."},{"id":31,"translation":"Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru;"},{"id":32,"translation":"Bazoronkamwo imirima itotahaye hamwe n’imizabibu;"},{"id":33,"translation":"N’inkumi zigishinze amabere, ziri mu runganwe rumwe;"},{"id":34,"translation":"N’ibirahuri vyuzuye inzoga zitaboreza."},{"id":35,"translation":"Muri ubwo Bwami bw’ijuru, ntibazokwigera bumvamwo amajambo y’imburakimazi, eka ntibazonabeshuzanya."},{"id":36,"translation":"Ivyo vyose rero, ni impembo ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, impembo ikwiye ibereye;"},{"id":37,"translation":"Ni impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;"},{"id":38,"translation":"Ku musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye."},{"id":39,"translation":"Uwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah."},{"id":40,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabagabishije ku bihano biri hafi gushika. Umusi umuntu azobona ivyakozwe n’amaboko yiwe, vyaba ivyiza canke ibibi, maze umugarariji agashoka avuga ati: “Yoo! Amagorwa arama yemwe! Iyo nari gupfuma nibera ivu, simpeze ngo nzuke”."}]},{"id":79,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima \"Roho\" mu mitima y’abagarariji!"},{"id":2,"translation":"No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima \"Roho\" mu mitima y’abemeramana!"},{"id":3,"translation":"No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!"},{"id":4,"translation":"No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!"},{"id":5,"translation":"No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!"},{"id":6,"translation":"Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;"},{"id":7,"translation":"Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka."},{"id":8,"translation":"Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu."},{"id":9,"translation":"Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;"},{"id":10,"translation":"Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!"},{"id":11,"translation":"Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”."},{"id":12,"translation":"Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”."},{"id":13,"translation":"Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;"},{"id":14,"translation":"Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi."},{"id":15,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!"},{"id":16,"translation":"Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi."},{"id":17,"translation":"Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;"},{"id":18,"translation":"Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!"},{"id":19,"translation":"Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””."},{"id":20,"translation":"Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka."},{"id":21,"translation":"Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah."},{"id":22,"translation":"Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)."},{"id":23,"translation":"Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;"},{"id":24,"translation":"Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”."},{"id":25,"translation":"Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":26,"translation":"Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah."},{"id":27,"translation":"Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!"},{"id":28,"translation":"Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza."},{"id":29,"translation":"Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse."},{"id":30,"translation":"Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa."},{"id":31,"translation":"Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa."},{"id":32,"translation":"Imisozi na yo Irayishinga;"},{"id":33,"translation":"Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[1], muvyikoreko.","footnotes":"[1] Izurwa ryanyu rero, rizoba ryoroshe cane ku Mana Allah gusumba irema ry’ivyo vyose Yaremye."},{"id":34,"translation":"Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;"},{"id":35,"translation":"Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;"},{"id":36,"translation":"Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;"},{"id":37,"translation":"Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;"},{"id":38,"translation":"Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;"},{"id":39,"translation":"Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe."},{"id":40,"translation":"Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;"},{"id":41,"translation":"Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe."},{"id":42,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!"},{"id":43,"translation":"Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise."},{"id":44,"translation":"Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah."},{"id":45,"translation":"Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero."},{"id":46,"translation":"Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[2] canke umusase gusa[3].","footnotes":"[2] Igice c’umusi, kuva izuba rihengamiye mu burengero gushika rirenze.\n[3] Igice c’umusi, kuva izuba riserutse gushika ku mutaga."}]},{"id":80,"verses":[{"id":1,"translation":"Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranyinyiriwe mu maso, irirengagiza;"},{"id":2,"translation":"Bivuye ku kuza kw’impumyi Abdullaahi mwene Ummu Maktuum yaje iyigana ngo iyibaze[1].","footnotes":"[1] Ico gihe, Intumwa yariko irararikira abatware b’Abakorayishi kwinjira mu bwislamu."},{"id":3,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni igiki cogutuma umenya ukuri kw’ikimuzanye, kumbure hari n’aho yokwiyeza!"},{"id":4,"translation":"Canke ikibuka, ukwo kwibuka kukayungura."},{"id":5,"translation":"Nayo uwibona ko yikenuye, ntashake kwumvira Imana Allah;"},{"id":6,"translation":"Ni we witwararitse kwumviriza!"},{"id":7,"translation":"Kandi nta mwikomo kuri wewe mu gihe atokwiyeza."},{"id":8,"translation":"Nayo uwuje akugana n’umwitwarariko nta ngere, akaza anyaragasa;"},{"id":9,"translation":"Kandi anatinya ibihano vy'Imana Allah, ashaka ubugororotsi;"},{"id":10,"translation":"Ni we utitayeho ngo umwumvirize."},{"id":11,"translation":"Si ukwo namba Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri iki gisomwa ca Qor’ani, ni urwibutso kuri wewe no ku bandi bose."},{"id":12,"translation":"Uwushaka rero aribuka Imana Allah akurikire Qor’ani ntagatifu;"},{"id":13,"translation":"Iri ku mpapuro zubahitse;"},{"id":14,"translation":"Zubashwe, zisukuye, zitagira akanenge;"},{"id":15,"translation":"Zanditswe n’iminwe y’abanditsi bahishurira Intumwa amajambo y’Imana Allah;"},{"id":16,"translation":"Abamalayika batagatifu, beranda."},{"id":17,"translation":"Umuntu w’umugarariji yaravumwe; mbega yafashwe n’iki gituma yimonogoza mu kugarariza!"},{"id":18,"translation":"Mbega, ntabona ico Imana Allah Yamuremyemwo!"},{"id":19,"translation":"Yamuremye mw’ima ry’intanga, Iraheza Iramutegekaniriza ubuzima bwiwe;"},{"id":20,"translation":"Hanyuma Imutomorera inzira y’iciza n’iy’ikibi;"},{"id":21,"translation":"Iraheza Iramwica, Iramushingura mu cubahiro;"},{"id":22,"translation":"Hanyuma igihe Yabishatse, Izomuzura, Imusubize ubuzima, kugira Imuharurire Inamuhembere ivyo yakoze."},{"id":23,"translation":"Nateshwe ate, arahumba! Ntarakora ivyo Imana yiwe Rurema Yamutegetse mu mabwirizwa."},{"id":24,"translation":"Maze umuntu nabanze yitegereze ukuntu Twaremye imfungurwa zimubeshejeho."},{"id":25,"translation":"Si ivy’imbeshere, Twebwe Allah Twarasukiriye amazi y’imvura kw’isi;"},{"id":26,"translation":"Hanyuma Twatura isi imigaga ibiterwa bitanguye kugonda;"},{"id":27,"translation":"Maze Tuyinagishako intete;"},{"id":28,"translation":"Imizabibu n’ivyatsi vy’ibitungwa;"},{"id":29,"translation":"Imizayituni n’itende;"},{"id":30,"translation":"Amashamba atotahaye azitanye;"},{"id":31,"translation":"Ibiti vy’ivyamwa bitandukanye hamwe n’uburagiriro;"},{"id":32,"translation":"Twaremye ivyo vyose, kugira muryoherwe, mwebwe n’ibitungwa vyanyu, muvyikoreko."},{"id":33,"translation":"Igihe rero humvikanye ijwi nziba-matwi ry’inzamba yo kuzuka;"},{"id":34,"translation":"Umusi umuntu azohunga mwenewabo kubera intureka;"},{"id":35,"translation":"Akanahunga nyina wiwe, na se wiwe;"},{"id":36,"translation":"Umugore wiwe, n’ibibondo vyiwe;"},{"id":37,"translation":"Umuntu wese, kuri uwo musi azoba arajwe ishinga n’ibimuhanze ku gatwe kiwe."},{"id":38,"translation":"Uwo musi, abemeramana bazosayangana mu maso;"},{"id":39,"translation":"Batwengatwenga, akanyamuneza nta ngere kabasya."},{"id":40,"translation":"Uwo musi, hari n’abandi bazoba buzuye inkungugu mu maso, bajumarariwe;"},{"id":41,"translation":"Bijiriwe, babuze ayo bacira n’ayo bamira, bagayitse."},{"id":42,"translation":"Abo rero, ni bo bagarariji, abagizi ba nabi."}]},{"id":81,"verses":[{"id":1,"translation":"Igihe izuba ryazingwazinzwe ntiribe rigisubira kwaka;"},{"id":2,"translation":"Igihe n’inyenyeri zahungurutse ntizibe zigisubira kuboneka;"},{"id":3,"translation":"Igihe n’imisozi yasunitswe igahoka;"},{"id":4,"translation":"Igihe n’ingamiya zifise amezi zirengagijwe;"},{"id":5,"translation":"Igihe n’inyamaswa zegeranirijwe hamwe, kugira Imana Allah Ihorere izarenganijwe n’izindi;"},{"id":6,"translation":"Igihe n’ibiyaga vyakijwe umuriro bikarurumba;"},{"id":7,"translation":"Igihe n’imishaha yahujwe n’iyindi mishaha hari ico ihuriyeko;"},{"id":8,"translation":"Igihe n’umwigeme yahambwe abona yabajijwe ku musi w’izuka;"},{"id":9,"translation":"Ku co yahowe, kigatuma yicwa mu guhambwa abona!"},{"id":10,"translation":"Igihe n’ibitabu vy’ibikorwa vy’ibiremwa vyashizwe ahabona bikugururwa;"},{"id":11,"translation":"Igihe n’ijuru ryuguruwe rigakurwaho;"},{"id":12,"translation":"Igihe n’umuriro wa Jahannamu wegenyejwe;"},{"id":13,"translation":"Igihe n’Ubwami bw’ijuru bwegerejwe abemeramana;"},{"id":14,"translation":"Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese rero azomenya ico yakoze; caba iciza canke ikibi."},{"id":15,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri zitaka ku murango!"},{"id":16,"translation":"Zigendera ahatabona mu nzira-ntasobwa zazo!"},{"id":17,"translation":"Ndarahiye kandi no kw’ijoro iyo bwije!"},{"id":18,"translation":"No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!"},{"id":19,"translation":"Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari ijambo ry’Uhoraho Allah rishikirizwa n’Intumwa yubashwe (Umumalayika Jibrili);"},{"id":20,"translation":"Nyeninguvu n’ubushobozi bwo kwubahiriza amabwirizwa, afise icubahiro kinini imbere ya Nyenubuhangamo Allah;"},{"id":21,"translation":"Agamburukirwa n’abandi bamalayika, umwizigirwa mu guhishurira Intumwa."},{"id":22,"translation":"Umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), si umusazi namba;"},{"id":23,"translation":"Mu vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarabonye umumalayika Jibrili ukuri kwamye mu buseruko bw’i Makka[1];","footnotes":"[1] Iyo, ni yo yari incuro ya mbere Intumwa ibona umumalayika Jibrili. Ico gihe, Intumwa yari mw’isenga ry’ibuye ryitwa HIRAA-A."},{"id":24,"translation":"Kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntiyigungirako ijambo ry’Imana Allah;"},{"id":25,"translation":"Kanatsinda, iyo Qor’ani si ijambo rya shetani yavumwe. Ahubwo ni ijambo ry’Imana Allah."},{"id":26,"translation":"Mbega, mwebwe mugana hehe, mu guhakana Qor’ani inyuma y’ivyo vyemezo vyose?"},{"id":27,"translation":"Iyo Qor’ani ntagatifu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose;"},{"id":28,"translation":"Kuri uwo wese muri mwebwe ashaka gutumbera inzira igororotse."},{"id":29,"translation":"Kandi ntimuzoshaka kugororoka ngo mubishobore, kiretse igihe Imana Allah Ibishatse, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose."}]},{"id":82,"verses":[{"id":1,"translation":"Igihe ijuru ryasadaguritse;"},{"id":2,"translation":"Igihe n’inyenyeri zahungurutse;"},{"id":3,"translation":"Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe;"},{"id":4,"translation":"Igihe n’imva zazuwe;"},{"id":5,"translation":"Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe."},{"id":6,"translation":"Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza?"},{"id":7,"translation":"Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza;"},{"id":8,"translation":"Yakuremye uko Ishaka mw’ishusho rihambaye."},{"id":9,"translation":"Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika;"},{"id":11,"translation":"Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika;"},{"id":12,"translation":"Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi."},{"id":13,"translation":"Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru."},{"id":14,"translation":"Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba;"},{"id":15,"translation":"Zizowinjira, ziwote ku musi w’impera;"},{"id":16,"translation":"Ntizizowukira ngo ziwuvemwo canke ngo zipfe."},{"id":17,"translation":"Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!"},{"id":18,"translation":"Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!"},{"id":19,"translation":"Ni umusi umuntu ata co azomarira mugenziwe. Itegeko kuri uwo musi, ni iry’Imana Allah Yonyene."}]},{"id":83,"verses":[{"id":1,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);"},{"id":2,"translation":"Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu."},{"id":3,"translation":"Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero."},{"id":4,"translation":"Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!"},{"id":5,"translation":"Ku musi w’intureka zihambaye."},{"id":6,"translation":"Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose."},{"id":7,"translation":"Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”."},{"id":8,"translation":"Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?"},{"id":9,"translation":"Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo."},{"id":10,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;"},{"id":11,"translation":"Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera."},{"id":12,"translation":"Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;"},{"id":13,"translation":"Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”."},{"id":14,"translation":"Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze."},{"id":15,"translation":"Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];","footnotes":"[1] Iyi Aayah, irerekana ko abemeramana ari bo bazobona Imana yabo Rurema Allah mu Bwami bw’ijuru."},{"id":16,"translation":"Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;"},{"id":17,"translation":"Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”."},{"id":18,"translation":"Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru."},{"id":19,"translation":"Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!"},{"id":20,"translation":"Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;"},{"id":21,"translation":"Bibonwa n’abamalayika b’abishikira."},{"id":22,"translation":"Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;"},{"id":23,"translation":"Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;"},{"id":24,"translation":"Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;"},{"id":25,"translation":"Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe."},{"id":26,"translation":"Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa."},{"id":27,"translation":"Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;"},{"id":28,"translation":"Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako."},{"id":29,"translation":"Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;"},{"id":30,"translation":"Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;"},{"id":31,"translation":"Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;"},{"id":32,"translation":"Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”."},{"id":33,"translation":"Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere."},{"id":34,"translation":"Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;"},{"id":35,"translation":"Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;"},{"id":36,"translation":"Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”."}]},{"id":84,"verses":[{"id":1,"translation":"Igihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi;"},{"id":2,"translation":"Rikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza;"},{"id":3,"translation":"Igihe n’isi yasanjwe;"},{"id":4,"translation":"Igasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara;"},{"id":5,"translation":"Ikumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza."},{"id":6,"translation":"Ewe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera."},{"id":7,"translation":"Uwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo;"},{"id":8,"translation":"Uyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe;"},{"id":9,"translation":"Maze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya."},{"id":10,"translation":"Nayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe;"},{"id":11,"translation":"Uyo rero, azoheza yisabire urupfu;"},{"id":12,"translation":"Yinjire no mu muriro wama wegenyejwe;"},{"id":13,"translation":"Kuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi."},{"id":14,"translation":"Mu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire."},{"id":15,"translation":"Yobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora."},{"id":16,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye!"},{"id":17,"translation":"No kw’ijoro n’ivyo rinyegeje!"},{"id":18,"translation":"No ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato!"},{"id":19,"translation":"Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[1].","footnotes":"[1] Umuntu wese aremwa mw’ima ry’intanga, rigahinduka amaraso avuze; nya maraso avuze agahinduka igihimba c’inyama; hanyuma nya gihimba c’inyama kigahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima “Roho”. Yamara kuvuka akabaho, hanyuma agapfa, akazozuka, agashorerwa kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa, hanyuma agaharurirwa."},{"id":20,"translation":"Mbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye!"},{"id":21,"translation":"N’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo."},{"id":22,"translation":"Ahubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa."},{"id":23,"translation":"Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo."},{"id":24,"translation":"Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza."},{"id":25,"translation":"Ariko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":85,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!"},{"id":2,"translation":"No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!"},{"id":3,"translation":"No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!","footnotes":"[1] Imana Allah, Irahira ku co Ishatse mu biremwa, nayo ikiremwa ntikirekuriwe kurahira kiretse kw’izina ry’Imana Allah, kurahira ku kitari Imana Allah, ni ibangikanyamana."},{"id":4,"translation":"Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;"},{"id":5,"translation":"Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;"},{"id":6,"translation":"Igihe bari bicaye hambavu yavyo;"},{"id":7,"translation":"Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano."},{"id":8,"translation":"Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose."},{"id":9,"translation":"Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose."},{"id":10,"translation":"Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa."},{"id":11,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye."},{"id":13,"translation":"Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke."},{"id":14,"translation":"Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo."},{"id":15,"translation":"Nyenubuhangamo, Nyeniteka."},{"id":16,"translation":"Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira."},{"id":17,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!"},{"id":18,"translation":"Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!"},{"id":19,"translation":"Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere."},{"id":20,"translation":"Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro."},{"id":21,"translation":"Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;"},{"id":22,"translation":"Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”."}]},{"id":86,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!"},{"id":2,"translation":"Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?"},{"id":3,"translation":"Ni inyenyeri yakaka."},{"id":4,"translation":"Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!"},{"id":5,"translation":"Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!"},{"id":6,"translation":"Yaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;"},{"id":7,"translation":"Avuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka."},{"id":9,"translation":"Umusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;"},{"id":10,"translation":"Umuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka."},{"id":11,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!"},{"id":12,"translation":"No kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!"},{"id":13,"translation":"Ko mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;"},{"id":14,"translation":"Si n’iyo kujajura."},{"id":15,"translation":"Mu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri."},{"id":16,"translation":"Nanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda."},{"id":17,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye."}]},{"id":87,"verses":[{"id":1,"translation":"Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere (uvuge uti: “Sub-haana Rabbiya l-A’laa”)."},{"id":2,"translation":"Yararemye ibiremwa, maze Iraringaniza indemo yavyo n’ibihimba; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;"},{"id":3,"translation":"Iraheza Irategekanya ivya nkenerwa vyose ku biremwa, Iranigisha kimwe cose ukuntu kivyikorako;"},{"id":4,"translation":"Iranagisha n’uburagiro (ubwatsi);"},{"id":5,"translation":"Hanyuma Irabukavya, busa n’urwatsi rutoto ruja kwirabura."},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tuzokwigisha Qor’ani, ntuzoyibagira namba;"},{"id":7,"translation":"Kiretse ico Imana Allah Ishatse ko wibagira ku neza y’ibiremwa. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibigaragara mu bikorwa no mu majambo n’ibinyegeje muri vyo."},{"id":8,"translation":"Tuzokworohereza gukora ivyoroshe; nko kwihanganira ishikirizabutumwa no kworoherezwa amabwirizwa y’idini."},{"id":9,"translation":"Kubera ivyo rero, ibutsa abantu bawe warungitsweko gutumbera inzira igororotse, na canecane kwibutsa uwitezwe ko yibuka, nya kwibuka kukamugirira akamaro;"},{"id":10,"translation":"Hazokwibuka uwutinya ibihano vy'Imana Allah."},{"id":11,"translation":"Uwaseserejwe n’ivyaha na we, azoheza yigire kure y’urwo rwibutso;"},{"id":12,"translation":"Ari na we azokwinjira mu muriro udahera ukaze bihambaye;"},{"id":13,"translation":"Hanyuma ntazopfa muri wo ngo awuruhuke, eka ntazonawugiriramwo ubuzima buhimbaye."},{"id":14,"translation":"Mu vy’ukuri yaramaze gutsinda, umuntu yiyejeje amabi;"},{"id":15,"translation":"Akaninahaza n’izina ry’Imana yiwe Rurema Allah, maze agasenga amasengesho-bwirizwa ku mwanya, arondera gushimwa na Yo."},{"id":16,"translation":"Bantu! Ahubwo rero, mushira imbere kurusha ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi;"},{"id":17,"translation":"Kandi ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo bwiza gusumba, kandi bwamaho."},{"id":18,"translation":"Mu vy’ukuri, ivyo vyose mwadondaguriwe muri iki gisomwa, biri no mu Bitabu vy’aho hambere ya Qor’ani;"},{"id":19,"translation":"Mu Mizingo y’Intumwa z’Imana Ibrahimu na Musa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah)."}]},{"id":88,"verses":[{"id":1,"translation":"Mbega Ntumwa y’Imana! Warashikiriwe n’inkuru y’umusi uhwikira ibiremwa!"},{"id":2,"translation":"Uwo musi, abagarariji bazosuzugurika bijirirwe mu maso kubera ibihano;"},{"id":3,"translation":"Bakore bita ku rutare, baruhe;"},{"id":4,"translation":"Bazokwinjira mu muriro udahera, unyengetera cane;"},{"id":5,"translation":"Banyweshwe mw’iriba ry’amazi asebura akaryimara;"},{"id":6,"translation":"Nta mfungurwa bazohabwa atari amahwa yumye;"},{"id":7,"translation":"Ntavyibusha namba eka ntanavuna n’inzara (ntanahembura) na gato."},{"id":8,"translation":"Uwo musi rero, abemeramana bazorangwa n’akamwemwe mu maso;"},{"id":9,"translation":"Bashime mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibikorwa vyabo bakoze kw’isi;"},{"id":10,"translation":"Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;"},{"id":11,"translation":"Ntibazokwumvamwo insaku n’amajambo ata co amaze;"},{"id":12,"translation":"Harimwo iriba ry’amazi atemba;"},{"id":13,"translation":"Harimwo n’ibitanda vy’icubahiro bihanitse;"},{"id":14,"translation":"N’ibirahuri bishinguwe neza, vyabategekanirijwe;"},{"id":15,"translation":"N’imisego itondeshejwe neza;"},{"id":16,"translation":"N’ibisaswa vy’iteka bishashwe neza."},{"id":17,"translation":"Mbega yemwe, abagarariji ntibitegereza ingamiya ingene yaremwe!"},{"id":18,"translation":"N’ijuru ingene ryahanitswe, ata nkingi!"},{"id":19,"translation":"N’imisozi ingene yashimitswe!"},{"id":20,"translation":"N’isi ingene yashashwe, yagutse!"},{"id":21,"translation":"Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, Ibutsa abirengagiza ukuri, ko mu vy’ukuri wewe ujejwe kwibutsa gusa;"},{"id":22,"translation":"Wewe ntushinzwe kubahatira kwemera."},{"id":23,"translation":"Ariko uwugenza umugongo, agatsimbatara mu kugarariza;"},{"id":24,"translation":"Uyo, Imana Allah Izomuha ibihano ruhasha mu muriro."},{"id":25,"translation":"Mu vy’ukuri, igaruka ryabo - nibazuka - ni iwacu Twebwe Allah;"},{"id":26,"translation":"Hanyuma, nta nkeka ko ari Twebwe Allah, Tujejwe kubaharurira ku musi w’impera."}]},{"id":89,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku mutwenzi!"},{"id":2,"translation":"No ku majoro cumi ya mbere yo mu kwezi kwa 12, Dhul-Hijja!"},{"id":3,"translation":"No kuri bibiribibiri na nyahagwe!"},{"id":4,"translation":"No kw’ijoro iyo rihise! Ko abahakanyi bazohanwa;"},{"id":5,"translation":"Ubwo muri ivyo, ntiharimwo indahiro ikwiye ku wufise ubwenge!"},{"id":6,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwabonye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize Bene Aadi igihe c’Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!"},{"id":7,"translation":"Ubwoko bwa Iramu, beninguvu n’amazu maremare;"},{"id":8,"translation":"Nta baremwe nkabo mu bindi bisagara mu ngimba n’inguvu bari bafise."},{"id":9,"translation":"Ntiwabonye n’ukuntu Yagize Bene Thamuudi, babaza amazu mu mabuye mu kabande igihe c’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!"},{"id":10,"translation":"Ntiwabonye kandi ukuntu Yagize Firawuni nyeningabo zatsimbataje ubwami bwiwe muri Misiri!"},{"id":11,"translation":"Abo bose, barimonogoje mu bugizi bwa nabi, mu bihugu vy’Imana Allah;"},{"id":12,"translation":"Baraheza bakwiragizamwo ubwononyi bwinshi;"},{"id":13,"translation":"Maze Imana yawe Rurema Allah, Ica Irabamanurira ibihano bibakwiye."},{"id":14,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Umureretsi w’ivyo bakoze, Iratenyenya ntiyibagira."},{"id":15,"translation":"Nayo umuntu, iyo Imana yiwe Rurema Allah Imugerageje, Ikamutera iteka ry’ubutegetsi canke ry’ubutunzi, araheza akibaza ko biturutse ku butore bwiwe, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaranteye iteka nta ngere”."},{"id":16,"translation":"Iyo naho Imugerageje, Ikamugerera mu vyo Imuronsa bimubeshaho, araheza akibaza ko biturutse ku gasuzuguro, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaransuzuguye”."},{"id":17,"translation":"Nateshwe ate, arahumba! Ariko guhabwa iteka guturuka ku kwumvira Imana Allah; gusuzugurwa na kwo, kugaturuka ku kugabitaniriza Imana Allah. Ahubwo rero mwebwe, ntimwitaho impfuvyi ngo muzifashe;"},{"id":18,"translation":"Ntimunahimirizanya gufungurira abakene;"},{"id":19,"translation":"Mukarya mukuzako n’amatungo y’abandi mu bisigi;"},{"id":20,"translation":"Mugakunda n’amatungo urukundo rurenze."},{"id":21,"translation":"Nimuteshwe mute, murahumba! Ntimwategerezwa kuba ukwo. Igihe rero isi yahondwahonzwe;"},{"id":22,"translation":"Imana yawe Rurema Allah na Yo, Ikaza gutunganiriza ibiremwa, abamalayika na bo batonze ku murongo;"},{"id":23,"translation":"Umuriro wa Jahannamu na wo kuri uwo musi, ugashirwa ahabona; uwo musi, umuntu w’umugarariji azokwikebuka yibuke kwigaya, ariko rero ukwo kwibuka akigaya, nta co kuzomumarira."},{"id":24,"translation":"Azovuga yicuza ati: “Ubona iyo nkora nkiri kw’isi ivyomfasha muri ubu buzima bwanje bw’inyuma yo gupfa!”."},{"id":25,"translation":"Kuri uwo musi rero, nta wuzohana umuhakanyi bikwiye nk’igihano c’Imana Allah."},{"id":26,"translation":"Kandi nta wuzoboha nk’Imana Allah mu kudadira umuhakanyi."},{"id":27,"translation":"Iyo umwemeramana apfuye, abwirwa ati: “Ewe mutima utekanishijwe n’ininahaza n’itaziramana hamwe n’ukwemera Imana Allah!"},{"id":28,"translation":"Subira ku Mana yawe Rurema Allah wishimiye impera yayo, wishimiwe n’Iyakuremye Allah;"},{"id":29,"translation":"Uheze winjire rero mu mugwi w’abaja banje beranda;"},{"id":30,"translation":"Winjire no mu Bwami bwanje bw’ijuru”."}]},{"id":90,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!"},{"id":2,"translation":"Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1].","footnotes":"[1] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano."},{"id":3,"translation":"Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!"},{"id":4,"translation":"Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa."},{"id":5,"translation":"Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!"},{"id":6,"translation":"Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”."},{"id":7,"translation":"Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!"},{"id":8,"translation":"Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!"},{"id":9,"translation":"Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!"},{"id":10,"translation":"Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!"},{"id":11,"translation":"Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!"},{"id":12,"translation":"Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!"},{"id":13,"translation":"Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;"},{"id":14,"translation":"Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;"},{"id":15,"translation":"Impfuvyi ya hafi mu muryango[2];","footnotes":"[2] Ugaheza ukaronka indishi zo gutanga imperezwa n’izo kwunga ubuvandimwe."},{"id":16,"translation":"Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero)."},{"id":17,"translation":"Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa."},{"id":18,"translation":"Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru."},{"id":19,"translation":"Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;"},{"id":20,"translation":"Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose."}]},{"id":91,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku zuba no ku muco waryo mu gitondo!"},{"id":2,"translation":"No ku kwezi iyo gukurikiye izuba rirenze n’iyo riserutse!"},{"id":3,"translation":"No ku murango iyo hakeye, umwijima w’ijoro ugaherengetera!"},{"id":4,"translation":"No kw’ijoro iyo ripfutse isi hakijima!"},{"id":5,"translation":"No kw’ijuru n’ukuntu ryubatse!"},{"id":6,"translation":"No kw’isi n’ukuntu ishashe, kugira ibiremwa bishobore kuyibako!"},{"id":7,"translation":"No ku mushaha w’ikiremwa ico ari co cose n’ukuntu watunganijwe n’Imana Allah!"},{"id":8,"translation":"Igaheza Ikawumenyesha mu kuwutomorera inzira y’inabi n’iy’ineza!"},{"id":9,"translation":"Ni ukuri yaratsinze, uwejeje umushaha agakora ivyiza."},{"id":10,"translation":"Kandi ni ukuri yarahomvye ubuzima bwiwe, uwasibije umushaha agakora ivyaha."},{"id":11,"translation":"Bene Thamuudi barahakanye Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), kubera ukwimonogoza kwabo mu gukora ivyaha;"},{"id":12,"translation":"Igihe hiyadukiza inkozi y’ikibi muri bo[1] kugira ice imitsi ingamiya;","footnotes":"[1] Yitwa Kubaru mwene Salifu."},{"id":13,"translation":"Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Mwoye gukomakoma ingamiya yarungitswe n’Imana Allah, mwiyubare kuyivogera ku musi wayo yagenewe gushoka kunywa”."},{"id":14,"translation":"Maze barayigarariza batako baraca imitsi ya nya ngamiya. Imana yabo Rurema Allah Ica Irabahana, Irabahonya bose ata n’umwe arokotse, kubera ibicumuro vyabo."},{"id":15,"translation":"Kandi Imana Allah, ntitinya inkurikizi z’ibihano Yabahaye."}]},{"id":92,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijoro iyo ripfutse ibintu vyose kw’isi!"},{"id":2,"translation":"No ku murango iyo hakeye, hakabona!"},{"id":3,"translation":"No kw’irema ry’igitsina-gabo n’igitsina-gore!"},{"id":4,"translation":"Bantu! Mu vy’ukuri ibikorwa vyanyu biri kwinshi; muri mwebwe harimwo uwukorera isi, hakabamwo n’uwukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":5,"translation":"Uwo wese rero azotanga atiziganya mu matungo yiwe ku bw’Imana Allah, akanagamburuka;"},{"id":6,"translation":"Akanemera ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH[1]”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;","footnotes":"[1] Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":7,"translation":"Uyo rero Twebwe Allah, Tuzomworohereza mu buzima bwo kw’isi, Tunamushoboze gukora ivyiza bimushikana mu Bwami bw’ijuru."},{"id":8,"translation":"Nayo uwuzoba ingumyi mu gutanga, ntanakenere indishi ku Mana Allah;"},{"id":9,"translation":"Agahakana n’ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;"},{"id":10,"translation":"Uyo, Twebwe Allah Tuzomworohereza gukora ibimushikana ku magorwa yo mu muriro udahera;"},{"id":11,"translation":"Amatungo yiwe, nta n’ico azomumarira igihe yahanantukiye mu muriro udahera."},{"id":12,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tujejwe kwerekana inzira igororotse iganisha mu Bwami bw’ijuru."},{"id":13,"translation":"Kandi mu vy’ukuri, ni Twe Tugaba Tukaganza ubuzima bw’inyuma yo gupfa n’ubwo kw’isi."},{"id":14,"translation":"Ni na co gituma Ndababuriye - bantu - Ndanabatinyisha n’ibihano vyo mu muriro ururumba."},{"id":15,"translation":"Nta wuwinjiramwo ubutavayo atari uwimonogoje mu bugarariji;"},{"id":16,"translation":"Uwuhakana Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), agaheza akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo."},{"id":17,"translation":"Hazokwegezwa kure y’uwo muriro, uwugamburukira Imana Allah bikwiye;"},{"id":18,"translation":"Uwutanga amatungo yiwe ku bw’Imana Allah, arondera kubandanya yiyeza;"},{"id":19,"translation":"Kandi nta n’umwe agirira ineza mu ntumbero yo gusubirizwa mu ndumane;"},{"id":20,"translation":"Ariko agira ineza arondera gushimwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere."},{"id":21,"translation":"Kandi nta kibuza ko azoshima impera n’inema zayo mu Bwami bw’ijuru."}]},{"id":93,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga!"},{"id":2,"translation":"No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura!"},{"id":3,"translation":"Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani."},{"id":4,"translation":"Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi."},{"id":5,"translation":"Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima."},{"id":6,"translation":"Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga!"},{"id":7,"translation":"Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe!"},{"id":8,"translation":"Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise!"},{"id":9,"translation":"Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze."},{"id":10,"translation":"Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize;"},{"id":11,"translation":"Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima."}]},{"id":94,"verses":[{"id":1,"translation":"Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza!"},{"id":2,"translation":"Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)!"},{"id":3,"translation":"Umutwaro wari uremereye umugongo wawe;"},{"id":4,"translation":"Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro."},{"id":5,"translation":"Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana."},{"id":6,"translation":"Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana."},{"id":7,"translation":"Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah;"},{"id":8,"translation":"Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah."}]},{"id":95,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni[1]” (vyahezagiwe)!","footnotes":"[1] Tiini na Zayituuni, ni ubwoko bw'ivyamwa."},{"id":2,"translation":"No ku musozi wa Sinayi, ari na ho Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuganiye n’Imana Allah ukuri kwamye!"},{"id":3,"translation":"No kuri iki gisagara ca Makka gitekanye!"},{"id":4,"translation":"Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane;"},{"id":5,"translation":"Hanyuma Tumusubiza mu muriro udahera, mu gihe atokwumvira Imana Allah agakurikira n’Intumwa zayo."},{"id":6,"translation":"Ariko rero abemeye Imana Allah n’Intumwa bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe impembo itagabanijwe, idahera."},{"id":7,"translation":"Muntu! None ni igiki gituma inyuma y’ivyo vyose, uhakana wivuye inyuma umusi w’impera!"},{"id":8,"translation":"Mbega burya Imana Allah, Yategekanije umusi wo gutunganiriza ibiremwa, si Yo Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa vyayo gusumba abacamanza bose! Yobuzwa n’iki! Ego cane, ni Yo!"}]},{"id":96,"verses":[{"id":1,"translation":"Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze utangure kw’izina ry’Imana yawe Allah Yaremye;"},{"id":2,"translation":"Yaremye zina kiremwa-muntu mu maraso avuze."},{"id":3,"translation":"Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, wizeye ko Imana yawe Rurema Allah ari Yo Mugiraneza-ntangere;"},{"id":4,"translation":"Yigishije ibiremwa kwandika n’ikaramu;"},{"id":5,"translation":"Yigishije kiremwa-muntu ivyo kitari kizi, Iraheza Igikura mu muzimagiza w’ubujuju Igishira mu muco w’ubumenyi."},{"id":6,"translation":"Si ivy’imbeshere ko umuntu yama yarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah ku bwishime;"},{"id":7,"translation":"Abitewe n'uko abonye yamaze kwikenura agatunga;"},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni ku Mana yawe Rurema Allah, Izomuhembera ivyo yakoze."},{"id":9,"translation":"Mbega, warabonye igitangaje kurusha umuntu[1] aburabuza;","footnotes":"[1] Ni umuhakanyi yarwanije cane Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yitwa Abu Jahli."},{"id":10,"translation":"Umuja[2] w’Imana Allah mu gihe ariko arasenga!","footnotes":"[2] Yaburabuje umuja w’Imana Muhamadi gusenga."},{"id":11,"translation":"Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuzwa ugusenga, yoba ari mu nzira igororotse!"},{"id":12,"translation":"Canke akaba ariko arabwiriza gukora iciza c'igamburukiramana!"},{"id":13,"translation":"Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuza ugusenga, yoba ahakana ubutumwa, akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Allah!"},{"id":14,"translation":"Mbega, ntazi neza ko Imana Allah Ibona ivyo akora!"},{"id":15,"translation":"Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri, ataretse kurwanya Intumwa, Tuzomufatira mu ruhanga, maze Tumujungunyire mu muriro;"},{"id":16,"translation":"Uruhanga rw’umubeshi, umunyavyaha;"},{"id":17,"translation":"Arahamagara rero abateramyi biwe baze bamutabare;"},{"id":18,"translation":"Na Twe Allah, Tuzoheza Duhamagare abamalayika b’ibihangange “Al-Zabaaniya”;"},{"id":19,"translation":"Ntumwa y’Imana! Nateshwe ate, arahumba mu kwibaza ko azoguturatuza. Ntukamwumvire ngo ureke gusenga, tsimbatara ku kwubamira Imana Allah, uheze ubandanye uyiyegereze unikundwakaze kuri Yo."}]},{"id":97,"verses":[{"id":1,"translation":"Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Qor’ani mw’ijoro ry’iteka nta ngere mu kwezi kwa Ramadhani."},{"id":2,"translation":"Ntumwa y’Imana! Ni igiki cokumenyesha ico ari co ijoro ry’iteka nta ngere?"},{"id":3,"translation":"Ijoro ry’iteka nta ngere, ni ijoro iciza gikozwe muri ryo, gisumba mu ndishi iciza gikozwe mu mezi igihumbi atagiramwo iryo joro[1].","footnotes":"[1] Iyo ni impano, Imana Allah Yageneye gusa abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":4,"translation":"Muri ryo, hamanuka abamalayika ku bwinshi bari kumwe na Mutimamweranda Jibrili, kw’itegeko ry’Imana yabo Rurema Allah, bagaheza bakerekwa n’ivyagezwe vyose vyo muri uwo mwaka."},{"id":5,"translation":"Iryo joro rero, ni amahoro masa gushika umutwenzi ukitse."}]},{"id":98,"verses":[{"id":1,"translation":"Abagararije mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana, ntibari kugera aho bavavanura n’ubugarariji, kugeza bashikiriwe n’icemeza kiboneka;"},{"id":2,"translation":"Ico cemeza, ni Intumwa ivuye ku Mana Allah, yaje ibasomera Qor’ani yanditswe ku mpapuro zitagiramwo agasembwa, zisukuye."},{"id":3,"translation":"Harimwo ibimenyetso n’amategeko atomoye, arongora mu nzira igororotse."},{"id":4,"translation":"Abahawe Igitabu, ntibiciyemwo imigwi ku vyerekeye ukwemera umuzo w’Intumwa Muhamadi[1], kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemeza kiboneka, cemeza ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana), ari yo Ntumwa y’Imana Allah basezeraniwe mu Bitabu vyabo.","footnotes":"[1] Abahawe Igitabu, bari basanzwe bazi neza ibiranga Intumwa igiye kuza, baranemera ko ari Intumwa y’ukuri bisunze ibiyiranga, ariko iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana) imaze kuza, bariciyemwo imigwi; muri bo hari abayemeye baranayikurikira, hari n’abayihakanye baranayirwanya biturutse kw’ishari n’akarenganyo."},{"id":5,"translation":"Nta n’ikindi bategetswe gukora mu mabwirizwa bahawe, atari ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga ari Imwe Rudende, beze idini ryayo batayibangikanya, batsimbataze n’amasengesho ku mwanya, banatange n’ishikanwa-bwirizwa. Iryo rero, ni ryo dini ry’ukuri, ni na bwo bwislamu."},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana, bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, bazowubamwo ibihe bidahera. Abo rero, ni bo babi cane mu biremwa."},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe; abo rero, ni bo beza cane mu biremwa;"},{"id":8,"translation":"Impembo yabo ku Mana yabo Rurema Allah, ni imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’inyubakwa n’ibiti vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabashimiye ku vyo bakoze, na bo nyene barayishimiye ku mpera Yabageneye. Iyo, ni yo mpembo y’uwatinye gucumura ku Mana yiwe Rurema Allah."}]},{"id":99,"verses":[{"id":1,"translation":"Igihe isi yanyiganyijwe nya kunyiganyizwa;"},{"id":2,"translation":"Maze isi igasohora ibiri muri yo vyose; abapfuye hamwe n’ubutare;"},{"id":3,"translation":"Umuntu akicwa n’ubwoba n’akantu abaza ati: “Mbega yemwe! Isi yashikiwe n’iki?”."},{"id":4,"translation":"Uwo musi, isi izoshikiriza inkuru z’ivyayikoreweko vyose; vyaba ivyiza canke ibibi;"},{"id":5,"translation":"Kuko Imana yawe Rurema Allah Yayitegetse."},{"id":6,"translation":"Uwo musi, abantu bazozuka bari imigwimigwi, kugira berekwe n’Imana Allah ibikorwa vyabo, Inabibahembere."},{"id":7,"translation":"Uwo wese rero akora iciza n’aho coba kingana n’akanyegeri, azobona indishi yaco mu buzima bw’inyuma yo gupfa."},{"id":8,"translation":"N’uwukora ikibi n’aho coba kingana n’akanyegeri, na co nyene azobona igihano caco mu buzima bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":100,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye kw’ifarasi zirukanga zihezuka mu gutera umwansi ku rugamba rwo guharanira Imana Allah!"},{"id":2,"translation":"N’iziruka ibinono bigacira amasase!"},{"id":3,"translation":"N’izitera umwansi mu gitondo!"},{"id":4,"translation":"Maze zigasura intumo mu kwiruka!"},{"id":5,"translation":"Zigana hagati y’abansi!"},{"id":6,"translation":"Mu vy’ukuri, umuntu ni intashima y’inema z’Imana yiwe Rurema Allah."},{"id":7,"translation":"Mu vy’ukuri na we nyene kuri ivyo, ni icabona."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri, umuntu mu gukunda amatungo ararengeje."},{"id":9,"translation":"Mbega umuntu ntazi ibizoba bimurindiriye, igihe Imana Allah Yazuye abapfuye bava mu mva zabo kugira baharurirwe;"},{"id":10,"translation":"Hakanerekanwa n’ibiri mu mishaha (ivyiza canke ibibi)!"},{"id":11,"translation":"Mu vy’ukuri Imana yabo Rurema, kuri uwo musi, Irazi neza ivyo bakoze, nta na kimwe Iyobewe."}]},{"id":101,"verses":[{"id":1,"translation":"Umusi nkuramutima."},{"id":2,"translation":"Mbega, ni igiki umusi nkuramutima?"},{"id":3,"translation":"Ni igiki cokumenyesha ico ari co umusi nkuramutima?"},{"id":4,"translation":"Ni umusi, abantu bazozuka batagira iyo baja n’iyo bava, bashwiragiye nk’ibinyugunyugu bishwiragijwe;"},{"id":5,"translation":"N’imisozi ikaba nk’ubwoya bw’isufi[1] busanzajwe, butumuriwe hejuru n’umuyaga.","footnotes":"[1] Isufi, ni ubwoya bw'intama canke ubw’agakwavu."},{"id":6,"translation":"Uwo wese rero, ivyiza vyiwe bizoremera ku munzani;"},{"id":7,"translation":"Uyo, ni we azoba mu buzima bushimishije mu Bwami bw’ijuru."},{"id":8,"translation":"Nayo uwo ivyiza vyiwe bizohwahuka ku munzani;"},{"id":9,"translation":"Uyo rero, uburuhukiro bwiwe ni mu manga ihonya."},{"id":10,"translation":"Mbega none, ni igiki cokumenyesha ico ari co imanga ihonya?"},{"id":11,"translation":"Ni umuriro udahera, ururumba."}]},{"id":102,"verses":[{"id":1,"translation":"Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah!"},{"id":2,"translation":"Mugashishikara gusamazwa n’ivyo, gushika n’aho mushengereye mugahambwa mu mva."},{"id":3,"translation":"Nimuteshwe mute, murahumba! Ivyo ntibikwiye kubasamaza namba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya ko ubuzima bw’inyuma yo gupfa ari bwo bwiza kuri mwebwe."},{"id":4,"translation":"Eka nimuteshwe mute, murahumba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya inkurikizi mbi z’ukutumvira Imana Allah."},{"id":5,"translation":"Eka nimuteshwe mute! Iyo mumenya vy’ukuri ibibafitiye akamaro, mworetse kwihaya ku vy’isi, mukihutira nyabuna gukora ivyiza."},{"id":6,"translation":"Ni ukuri muzobona umuriro ururumba."},{"id":7,"translation":"Kandi ni ukuri, muzowubona ukuri kwamye."},{"id":8,"translation":"Hanyuma, ni ukuri kuri uwo musi w’impera, muzobazwa ku nema z’ubwoko bwose ico mwazikoresheje."}]},{"id":103,"verses":[{"id":1,"translation":"Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe, kubera ibitangaza birimwo vyerekana ubushobozi bwanje!"},{"id":2,"translation":"Ko mu vy’ukuri, zina kiremwa-muntu kiri mu ruhombo;"},{"id":3,"translation":"Kiretse abemeye Imana Allah bagakora n'ivyiza bitegetswe, bagahanurana no kwama bashigikiye bagendera ukuri, bakanahanurana kwihangana muri ivyo vyose."}]},{"id":104,"verses":[{"id":1,"translation":"Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’uwo wese anegura akandagaza abantu, akwiragiza insaku (gateranya);"},{"id":2,"translation":"Yishinga kwegeranya amatungo no kuyaharura kenshi."},{"id":3,"translation":"Mbega yibaza ko amatungo yiwe azomubeshaho ibihe bidahera akanamukingira iharurirwa!"},{"id":4,"translation":"Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri uyo muntu, azojugunywa muri ruyonza."},{"id":5,"translation":"Ntumwa y'Imana! Mbega, ni igiki cokumenyesha ico ari co ruyonza?"},{"id":6,"translation":"Ni umuriro w’Imana Allah wama wegenyejwe;"},{"id":7,"translation":"Unyengetera mu mishaha."},{"id":8,"translation":"Mu vy’ukuri, uwo muriro urabakikuje mu mpande zose;"},{"id":9,"translation":"Bazoba baboheshejwe iminyororo miremire n’amapingu; ntibazocaruka na gato."}]},{"id":105,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwamenye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize beninzovu[1]!","footnotes":"[1] Abraha Al-Habashiy, umutware wo muri Etiyopiya n’ingabo ziwe, igihe bashaka gusenyura Al-Ka’ba."},{"id":2,"translation":"Umugambi wabo mubi, ntiyawugize impfagusa ukaburizwamwo!"},{"id":3,"translation":"Iraheza Ibarungikira inyoni ziri mu migwimigwi;"},{"id":4,"translation":"Zibatera amabuye yokeje, ziraheza zirabahonya."},{"id":5,"translation":"Maze Ibagira nk’ivyatsi vyarishijwe n'intungwa hanyuma iravyuza, iraheza ibita ari amahenehene."}]},{"id":106,"verses":[{"id":1,"translation":"Kubera akamenyero k’Abakorayishi;"},{"id":2,"translation":"Akamenyero kabo ko kuja mu gihugu ca Yemeni kiri mu bumanuko mu rushana, no kuja mu bihugu vyo muri Shaamu biri mu buraruko mu ci, aho baja kurangura ibidandazwa, bakishira bakizana ata nkomanzi."},{"id":3,"translation":"Kubera ivyo rero, nibashimire Imana Rurema Nyene iyi ngoro ntagatifu (Al-Ka’ba), babaye hambavu yayo batekaniwe; baheze bayiyegereze mu vyo bakora vyose banayisenge ari Imwe Rudende;"},{"id":4,"translation":"Yo Yabafunguriye Ikabakiza inzara, Ikabaha n’umutekano, Ikanabakiza ubwoba."}]},{"id":107,"verses":[{"id":1,"translation":"Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?"},{"id":2,"translation":"Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;"},{"id":3,"translation":"Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene."},{"id":4,"translation":"Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;"},{"id":5,"translation":"Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;"},{"id":6,"translation":"Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;"},{"id":7,"translation":"Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[1].","footnotes":"[1] Bananiwe kuba abagwaneza mu gusenga Imana Allah, bananirwa no kuba abagwaneza ku biremwa."}]},{"id":108,"verses":[{"id":1,"translation":"Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, Twarakweguriye impano y’ivyiza vyinshi nta ngere kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[1].","footnotes":"[1] Muri ivyo vyiza, ni uruzi “Kawthar” ruri mu Bwami bw’ijuru, ku nkengera zarwo hari amahema yubatswe mu butare bw’agaciro “lulu”, umusenyi wo muri rwo, ni “miski”."},{"id":2,"translation":"Kubera ivyo rero, senga wamizeko wongere ukerere kw’izina ry’Imana no ku bw’Imana yawe Rurema Allah."},{"id":3,"translation":"Mu vy’ukuri, uwugucokora akanka n’uburongozi warungikanwe, ni we yacitswe n’ivyiza vyose, kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa."}]},{"id":109,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bagarariji!"},{"id":2,"translation":"Jewe sinzosenga ivyo musenga (ibigirwamana)."},{"id":3,"translation":"Na mwe ntimusenga Imana Imwe Rudende nsenga."},{"id":4,"translation":"Eka nanje sinsenga uko mwebwe musenga."},{"id":5,"translation":"Kandi na mwe ntimuzosenga Imana Imwe Rudende Allah[1] nsenga.","footnotes":"[1] Iyi Aayah, yahishuwe ku nkuru ya bamwe mu bagarariji bazwi ku mazina, Imana Allah Yari Izi ko batazopfa bemeye Imana Imwe Rudende Allah."},{"id":6,"translation":"Mufise idini ryanyu rero, nanje nkagira idini ryanje ntarota mpindura”."}]},{"id":110,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Igihe habonetse intsinzi y’Imana Allah ugatsinda ababangikanyamana mu Bakorayishi, ugaheza ugahabuza igisagara ca Makka;"},{"id":2,"translation":"Ukabona n’abantu binjira mw’idini ry’Imana Allah ry’ubwislamu ari benshi mu migwimigwi;"},{"id":3,"translation":"Aho rero, uraca witegurira kurengutswa n’Imana Allah, uheze uninahaze ushimagize Imana yawe Rurema Allah, wongere uyisabe kenshi ikigongwe. Mu vy’ukuri, Yo Yamye Yumvira cane abigaya."}]},{"id":111,"verses":[{"id":1,"translation":"Yarahonye Abu Lahabi, aragahona ku kubera ukubangamira kwiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)."},{"id":2,"translation":"Amatungo yiwe, eka n’abana biwe, nta co bizomumarira ngo bimukingire ibihano vy’Imana Allah."},{"id":3,"translation":"Azokwinjira mu muriro ururumba cane, maze awote;"},{"id":4,"translation":"Ari kumwe n’umugore wiwe (Ummu Jamiila), yahora yikorera amahwa akayatega mu nzira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) icamwo;"},{"id":5,"translation":"Uyo mukenyezi, azotabwa mu muriro aboheshejwe mw’izosi ikiziriko gitsivye neza."}]},{"id":112,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Imwe Rudende mu bumana bwayo, mu bushobozi bwo kurema no mu mazina n’amatazirano yayo."},{"id":2,"translation":"Imana Allah, ni Yo Nyenugutumberwa muri vyose."},{"id":3,"translation":"Ntiyavyaye kandi ntiyavyawe, eka ntigira n’umugore."},{"id":4,"translation":"Kandi ntigira ikiremwa na kimwe bisa canke bisusa, haba mu mazina n’amatazirano yayo, haba no mu bushobozi bwayo”."}]},{"id":113,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mana Allah, Umuremyi w’igitondo;"},{"id":2,"translation":"Inkingire inabi y’ivyo Yaremye vyose;"},{"id":3,"translation":"N’inabi y’ijoro iyo ryijimye;"},{"id":4,"translation":"N’inabi y’abarozikazi bahuha mu mapfundo mu kuroga;"},{"id":5,"translation":"N’inabi y’umunyeshari[1] iyo asharitse”.","footnotes":"[1] Umunyeshari, ni umuntu asharika abandi abahora impano bahawe n’Imana Allah, akipfuza ko nya mpano zohona, akanababangamira mu buzima."}]},{"id":114,"verses":[{"id":1,"translation":"Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mubungabunzi w’abantu bose;"},{"id":2,"translation":"Umwami Mugabe w’abantu, Yikenuye;"},{"id":3,"translation":"Imana Nyene gusengwa n’abantu, ata yindi mana ikwiye gusengwa atari Yo;"},{"id":4,"translation":"Inkingire inabi ya shetani itera amazinda kenshi iyo umuntu agoswe, ikanyegera iyo aninahaje Imana Allah;"},{"id":5,"translation":"Itera amazinda n’amakenga mu mitima y’abantu, ikabosha gukora ibibi no kureka ibitegetswe;"},{"id":6,"translation":"Ikomoka mu bwoko bw’Amajini n’ubw’abantu”."}]}]
